ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abalewi: ibirimwo

      • Aroni atanga amashikanwa (1-24)

Abalewi 9:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 8:35

Abalewi 9:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:3

Abalewi 9:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:1
  • +Lw 2:4; 6:14
  • +Kv 29:43

Abalewi 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 16:10; 24:16; 40:34

Abalewi 9:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:3
  • +Heb 7:27
  • +Heb 5:1-3
  • +Lw 16:33

Abalewi 9:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:3, 4

Abalewi 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 9:22
  • +Lw 4:7; 8:14, 15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 22

Abalewi 9:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku gashami k’igitigu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:8-10

Abalewi 9:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:11, 12; Heb 13:11

Abalewi 9:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:5

Abalewi 9:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.

Abalewi 9:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3; 6:9

Abalewi 9:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:1, 11, 13
  • +Kv 29:39

Abalewi 9:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:1, 2

Abalewi 9:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:3, 4
  • +Lw 3:9, 10

Abalewi 9:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibidari», «inkoro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 7:29-31

Abalewi 9:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:27, 28

Abalewi 9:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 6:23-27; Gus 10:8; 21:5; 1Ng 23:13

Abalewi 9:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 6:18; 2Ng 6:3
  • +Lw 9:6

Abalewi 9:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 6:21; 1Ng 21:26
  • +1Bm 18:38, 39; 2Ng 7:1, 3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Lew. 9:1Lw 8:35
Lew. 9:2Lw 4:3
Lew. 9:4Lw 3:1
Lew. 9:4Lw 2:4; 6:14
Lew. 9:4Kv 29:43
Lew. 9:6Kv 16:10; 24:16; 40:34
Lew. 9:7Lw 4:3
Lew. 9:7Heb 7:27
Lew. 9:7Heb 5:1-3
Lew. 9:7Lw 16:33
Lew. 9:8Lw 4:3, 4
Lew. 9:9Heb 9:22
Lew. 9:9Lw 4:7; 8:14, 15
Lew. 9:10Lw 4:8-10
Lew. 9:11Lw 4:11, 12; Heb 13:11
Lew. 9:12Lw 1:5
Lew. 9:16Lw 1:3; 6:9
Lew. 9:17Lw 2:1, 11, 13
Lew. 9:17Kv 29:39
Lew. 9:18Lw 3:1, 2
Lew. 9:19Lw 3:3, 4
Lew. 9:19Lw 3:9, 10
Lew. 9:20Lw 7:29-31
Lew. 9:21Kv 29:27, 28
Lew. 9:22Gh 6:23-27; Gus 10:8; 21:5; 1Ng 23:13
Lew. 9:232Sm 6:18; 2Ng 6:3
Lew. 9:23Lw 9:6
Lew. 9:24Abc 6:21; 1Ng 21:26
Lew. 9:241Bm 18:38, 39; 2Ng 7:1, 3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abalewi 9:1-24

Abalewi

9 Ku musi ugira umunani+, Musa ahamagara Aroni n’abahungu biwe hamwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli. 2 Abwira Aroni ati: «Tora ishuri ikiri nto y’ishikanwa ry’igicumuro+ n’impfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa, vyose bitagira akanenge uheze ubizane imbere ya Yehova. 3 Ariko Abisirayeli uzobabwire uti: “Nimuzane isuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro, ishuri be n’isuguru y’intama vy’ishikanwa riturirwa bimaze umwaka umwumwe kandi bitagira akanenge, 4 hamwe n’impfizi y’inka be n’iy’intama vy’ikimazi co gusangira+, kugira mubishikanire Yehova. Muzane n’ishikanwa ry’intete+ rivanze n’amavuta, kuko Yehova aza kubabonekera+ uyu musi.”»

5 Baca bazana imbere y’ihema ry’ibonaniro ivyo Musa yari yabategetse. Maze ishengero ryose riraza rihagarara imbere ya Yehova. 6 Musa rero ababwira ati: «Ibi ni vyo Yehova yabategetse gukora, kugira mubone ubuninahazwa bwa Yehova+.» 7 Musa aca abwira Aroni ati: «Egera igicaniro utange ishikanwa ryawe ry’igicumuro+ n’ishikanwa ryawe riturirwa, wongere witangire impongano*+ mwe n’umuryango wawe. Uzoheza utange ishikanwa ry’abantu+ wongere ubatangire impongano+ nk’uko Yehova yategetse.»

8 Ubwo nyene Aroni aca yegera igicaniro, akerera ya shuri y’ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+. 9 Hanyuma abahungu biwe bamuha amaraso yayo+, na we ayakozamwo urutoke maze ayasiga ku mahembe y’igicaniro. Ayasigaye aca ayasuka ku mushinge w’igicaniro+. 10 Araheza afata ikinure cayo, amafyigo n’ikinure gifashe ku gitigu*, arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro, nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 11 Inyama zayo n’urushato rwayo aca abituririra inyuma y’ikambi+.

12 Hanyuma Aroni akerera ya mpfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa. Abahungu biwe bamuha amaraso yayo, na we ayamijagira ku mpande zose z’igicaniro+. 13 Bamuha n’ibipande vyayo biri kumwe n’umutwe wayo, na we arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro. 14 Araheza aronga amara yayo n’amaguru* yayo, abituririra hejuru ya rya shikanwa riturirwa, bifumba umwotsi ku gicaniro.

15 Hanyuma atanga ishikanwa ry’abantu: afata ya suguru y’impene igenewe abantu, arayikerera maze ayitanga nk’ishikanwa ry’igicumuro nk’imwe ya mbere. 16 Araheza azana ishikanwa riturirwa, aritanga nk’uko bisabwa n’amategeko+.

17 Hanyuma atanga ishikanwa ry’intete+: ayora urushi kuri ryo, arariturira rifumba umwotsi ku gicaniro, iruhande y’ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo+.

18 Inyuma y’ivyo, Aroni akerera ya mpfizi y’inka na ya mpfizi y’intama y’ikimazi co gusangira kigenewe abantu. Abahungu biwe bamuha amaraso yazo, na we ayamijagira ku mpande zose z’igicaniro+. 19 Ibinure vy’iyo mpfizi y’inka+ na vyo, igitsembe kinuze c’iyo mpfizi y’intama, ikinure gipfutse amara, amafyigo n’ikinure gifashe ku gitigu+, 20 vyose babishira hejuru y’utumeme* tw’ivyo bitungwa, araheza aturira ivyo binure, bifumba umwotsi ku gicaniro+. 21 Ariko utwo tumeme n’iryo tako ry’iburyo, Aroni abizungagiza* nk’ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova, nk’uko Musa yari yategetse+.

22 Hanyuma Aroni aduza amaboko hejuru y’abantu arabahezagira+. Ahejeje gutanga ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa hamwe n’ibimazi vyo gusangira, aca aramanuka. 23 Amaherezo, Musa na Aroni binjira mw’ihema ry’ibonaniro hanyuma barasohoka, maze bahezagira abantu+.

Ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera abantu bose+. 24 Nuko haza umuriro uvuye kuri Yehova+ maze urigata rya shikanwa riturirwa na vya binure biri ku gicaniro. Abantu bose ngo babibone, baca biha akaruru maze barunama mu maso hashika hasi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika