ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 28
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Ziragowe imborerwa za Efurayimu! (1-6)

      • Abaherezi n’abahanuzi bo mu Buyuda bagenda bicako (7-13)

      • «Isezerano n’urupfu» (14-22)

        • Ibuye rigumya imfuruka rishingwa i Siyoni (16)

        • Igikorwa kidasanzwe ca Yehova (21)

      • Akarorero k’indero nziza Yehova atanga (23-29)

Yesaya 28:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Biboneka ko urwo rugori rugereranya umurwa mukuru ari wo Samariya.

  • *

    Canke «rwishira hejuru», «rwishima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 7:2

Yesaya 28:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2011, rup. 3

Yesaya 28:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «zishira hejuru», «zishima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:6; Yes 17:3

Yesaya 28:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 11:16

Yesaya 28:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «azotuma impwemu yiwe iza ku bacamanza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 18:34; 68:35

Yesaya 28:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu ngingo bafata.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 16:10, 11; Yr 5:31

Yesaya 28:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umugozi wo gupimisha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:13; Yes 28:17; Int 2:8

Yesaya 28:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «b’umunwa ugigimiza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:49, 50; Yr 5:15; 1Kr 14:21

Yesaya 28:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 81:10, 11

Yesaya 28:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umugozi wo gupimisha.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 28:17
  • +2Ng 36:15, 16; Yes 8:14, 15

Yesaya 28:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «twe n’ukuzimu tugira ico tweretswe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 28:18
  • +Yes 30:9, 10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/2003, rup. 13-14

Yesaya 28:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 118:22
  • +Mt 21:42; Mr 12:10; Lk 20:17; Ivk 4:11
  • +Ef 2:19, 20
  • +Rm 9:33; 10:11; 1Pt 2:4, 6

Yesaya 28:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:13
  • +Yr 11:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2011, rup. 3, 6-7

Yesaya 28:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 28:15

Yesaya 28:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «abantu nibatahura bazoranduka umutima bidasanzwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 24:1

Yesaya 28:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 10:8-14; 2Sm 5:20; 1Ng 14:10-16
  • +Int 2:15; Hab 1:5-7

Yesaya 28:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «isi yose.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:15, 16; Yr 20:7
  • +Yes 10:23; 24:1

Yesaya 28:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 30:5; 103:9; Mik 7:18

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2001, rup. 22

Yesaya 28:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ikirungo kiva mu tubuto tubaba.

  • *

    Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

  • *

    Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 9:31, 32; Ezk 4:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/10/2001, rup. 22

Yesaya 28:26

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «itoza indero», «ihana.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 119:71

Yesaya 28:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:15; Am 1:3

Yesaya 28:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 103:9; Yes 21:10; Mik 7:18
  • +Lw 26:44; Yr 10:24

Yesaya 28:29

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inama.»

  • *

    Canke «kandi ubukerebutsi bwiwe ni bwinshi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 40:5; Yr 32:19; Rm 11:33

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 28:1Yes 7:2
Yes. 28:32Bm 17:6; Yes 17:3
Yes. 28:5Yes 11:16
Yes. 28:6Zb 18:34; 68:35
Yes. 28:72Bm 16:10, 11; Yr 5:31
Yes. 28:102Bm 21:13; Yes 28:17; Int 2:8
Yes. 28:11Gus 28:49, 50; Yr 5:15; 1Kr 14:21
Yes. 28:12Zb 81:10, 11
Yes. 28:13Yes 28:17
Yes. 28:132Ng 36:15, 16; Yes 8:14, 15
Yes. 28:15Yes 28:18
Yes. 28:15Yes 30:9, 10
Yes. 28:16Zb 118:22
Yes. 28:16Mt 21:42; Mr 12:10; Lk 20:17; Ivk 4:11
Yes. 28:16Ef 2:19, 20
Yes. 28:16Rm 9:33; 10:11; 1Pt 2:4, 6
Yes. 28:172Bm 21:13
Yes. 28:17Yr 11:20
Yes. 28:18Yes 28:15
Yes. 28:19Yes 24:1
Yes. 28:21Yos 10:8-14; 2Sm 5:20; 1Ng 14:10-16
Yes. 28:21Int 2:15; Hab 1:5-7
Yes. 28:222Ng 36:15, 16; Yr 20:7
Yes. 28:22Yes 10:23; 24:1
Yes. 28:24Zb 30:5; 103:9; Mik 7:18
Yes. 28:25Kv 9:31, 32; Ezk 4:9
Yes. 28:26Zb 119:71
Yes. 28:27Yes 41:15; Am 1:3
Yes. 28:28Zb 103:9; Yes 21:10; Mik 7:18
Yes. 28:28Lw 26:44; Yr 10:24
Yes. 28:29Zb 40:5; Yr 32:19; Rm 11:33
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 28:1-29

Yesaya

28 Ruragowe urugori* rwiyerekana* rw’imborerwa za Efurayimu+,

n’ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomwe

riri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera w’abasinzikajwe n’umuvinyu!

 2 Raba! Yehova arafise umuntu akomeye kandi w’ububasha.

Azoruterera hasi n’inguvu

nka kurya kw’igihuhusi kirimwo urubura n’imituragaro, imiyaga itema igatongora,

nka kurya kw’imvura ikomeye y’isegenya izananye n’igihuhusi kirimwo imituragaro.

 3 Ingori ziyerekana* z’imborerwa za Efurayimu

zizokandagirwa n’ibirenge+.

 4 Kandi ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomwe

riri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera,

rizoba nk’insukoni yeze kare ici ritaratangura.

Uwuyibonye arayamura, agaca ayimira ubwo nyene.

5 Kuri uwo musi Yehova Nyeningabo azobera abantu biwe basigaye+ urugori rwiza cane n’igitsibo c’amashurwe giteye igomwe. 6 Azotuma abacamanza bakurikiza ubutungane*, abere isoko ry’inkomezi abigizayo igitero kw’irembo ry’igisagara+.

 7 Abaherezi n’abahanuzi na bo nyene barazimiye kubera umuvinyu.

Inzoga banywa zituma bagenda bicako.

Inzoga zarabazimije.

Umuvinyu urabavuruga ubwenge,

bakagenda bicako kubera inzoga.

Ivyo berekwa birabazimiza,

bakihenda mu guca imanza*+.

 8 Kuko imeza zabo zuzuye ibidahwe vy’umucafu.

Nta ho bitari.

 9 Bavuga ngo: «Uwo yokwigisha nde?

Yosigurira nde ubutumwa?

Namba ari barya baheruka gucuka bataconka,

barya baheruka gukurwa kw’ibere!

10 Kuko aguma avuga ngo: “Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,

itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,

aha dukeyi, harya dukeyi.”»

11 Imana na yo rero izovugana n’iri hanga biciye ku bantu bagigimiza* kandi bavuga ururimi runyamahanga+. 12 Yari yababwiye iti: «Ahantu ho kuruhukira ni aha. Uwurushe naruhuke. Aha ni ho hantu ho kugarurira agatege.» Mugabo baranse kwumva+. 13 Uku rero ni ko Yehova azobabwira:

«Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,

itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,

aha dukeyi, harya dukeyi.»

Ivyo azobigira kugira ngo batsitare bariko baragenda,

bagwire umugongo maze bavunike,

bagwe mu mutego, bafatwe+.

14 Nimwumve rero ijambo rya Yehova, mwebwe mwirata,

mwebwe batware b’aba bantu bari i Yeruzalemu,

15 kuko muvuga muti:

«Twaragiranye isezerano n’urupfu+,

tugirana umwumvikano n’ukuzimu*.

Umwuzure ukaze niwatera giturumbuka

ntuzodushikira

kuko ikinyoma twakigize ubuhungiro bwacu,

twihisha mu bubeshi+.»

16 Ni co gituma Umukama Segaba Yehova avuze ati:

«Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye ry’umushinge, ibuye ryagejejwe+.

Ndiko ndahashinga ibuye rigumya imfuruka+ ry’agaciro ngo ribe umushinge ukomeye+.

Nta wizera azota umutwe+.

17 Ubutungane nzobugira umugozi wo gupimisha+,

ubugororotsi ndabugire inivo*+.

Urubura ruzokukumura ubuhungiro bw’ikinyoma,

amazi na yo asegenyuke akureho ahantu mwihisha.

18 Isezerano mwagiranye n’urupfu rizokurwaho,

kandi umwumvikano mwagiranye n’ukuzimu ntuzorama+.

Umwuzure ukaze niwatera giturumbuka

uzobamenagura.

19 Igihe cose uzotera

uzobakukumura+,

kuko uzotera uko bukeye,

ku murango no mw’ijoro.

Ukuranduka umutima ni kwo gusa kuzotuma abantu batahura ivyo bumvise*.»

20 Kuko uburiri ari bugufi cane ku buryo ata woryama agororotse,

n’ishuka ni ntoyi cane ku buryo ata woyikwirwamwo.

21 Kuko Yehova azova hasi nk’uko yabigize ku musozi Perasimu,

agire ico akoze nko muri ca kiyaya kiri hafi y’i Gibeyoni+.

Hazoba ari ukugira ngo akore igikorwa ciwe, igikorwa ciwe gitangaje,

no kugira ngo ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe kidasanzwe+.

22 None rero, ntimushinyagure+,

kugira ngo imizana yanyu ntibayidadire rwose,

kuko numvise Umukama Segaba Yehova Nyeninga⁠bo

avuga ko yafashe ingingo yo gutikiza igihugu cose*+.

23 Nimutege ugutwi, mwumvirize ijwi ryanje.

Nimutege yompi, mwumvirize ivyo mvuga.

24 Mbega umurimyi arima umusi wose ngo abone gutera imbuto?

Yoba aguma akubita isuka, ategura aho arima+?

25 Mbega amaze kuharinganiza,

ntaca amijagira kumino* yirabura, agateragira kumino isanzwe?

Mbega ntateragira ingano, amasaka na sayiri* aho biterwa,

kusemeti*+ na yo akayitera ku rubibe rw’umurima?

26 Kuko Imana yigisha* umuntu neza,

ikamuha ubumenyi+.

27 Erega kumino yirabura ntibayihonyangisha ibibaho batonoza intete*+,

kandi nta pine ry’umukogote bacisha kuri kumino isanzwe.

Ahubwo kumino yirabura bayikubitisha inkoni,

kumino isanzwe bakayikubitisha ikibando.

28 Mbega intete bakuramwo umukate barazijanjagura?

Oya, ntibaguma bazikubita+.

Naho umuntu yozicishako igihini kizunguruka c’umukogote ukwegwa n’amafarasi yiwe,

ntazijanjagura+.

29 N’ivyo nyene biva kuri Yehova Nyeningabo.

Umugambi* wiwe ni agatangaza,

kandi ivyo akora birakomeye*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika