Yesaya
28 Ruragowe urugori* rwiyerekana* rw’imborerwa za Efurayimu+,
n’ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomwe
riri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera w’abasinzikajwe n’umuvinyu!
2 Raba! Yehova arafise umuntu akomeye kandi w’ububasha.
Azoruterera hasi n’inguvu
nka kurya kw’igihuhusi kirimwo urubura n’imituragaro, imiyaga itema igatongora,
nka kurya kw’imvura ikomeye y’isegenya izananye n’igihuhusi kirimwo imituragaro.
4 Kandi ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomwe
riri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera,
rizoba nk’insukoni yeze kare ici ritaratangura.
Uwuyibonye arayamura, agaca ayimira ubwo nyene.
5 Kuri uwo musi Yehova Nyeningabo azobera abantu biwe basigaye+ urugori rwiza cane n’igitsibo c’amashurwe giteye igomwe. 6 Azotuma abacamanza bakurikiza ubutungane*, abere isoko ry’inkomezi abigizayo igitero kw’irembo ry’igisagara+.
7 Abaherezi n’abahanuzi na bo nyene barazimiye kubera umuvinyu.
Inzoga banywa zituma bagenda bicako.
Inzoga zarabazimije.
Umuvinyu urabavuruga ubwenge,
bakagenda bicako kubera inzoga.
Ivyo berekwa birabazimiza,
8 Kuko imeza zabo zuzuye ibidahwe vy’umucafu.
Nta ho bitari.
9 Bavuga ngo: «Uwo yokwigisha nde?
Yosigurira nde ubutumwa?
Namba ari barya baheruka gucuka bataconka,
barya baheruka gukurwa kw’ibere!
10 Kuko aguma avuga ngo: “Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,
itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,
aha dukeyi, harya dukeyi.”»
11 Imana na yo rero izovugana n’iri hanga biciye ku bantu bagigimiza* kandi bavuga ururimi runyamahanga+. 12 Yari yababwiye iti: «Ahantu ho kuruhukira ni aha. Uwurushe naruhuke. Aha ni ho hantu ho kugarurira agatege.» Mugabo baranse kwumva+. 13 Uku rero ni ko Yehova azobabwira:
«Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,
itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,
aha dukeyi, harya dukeyi.»
Ivyo azobigira kugira ngo batsitare bariko baragenda,
bagwire umugongo maze bavunike,
bagwe mu mutego, bafatwe+.
14 Nimwumve rero ijambo rya Yehova, mwebwe mwirata,
mwebwe batware b’aba bantu bari i Yeruzalemu,
15 kuko muvuga muti:
Umwuzure ukaze niwatera giturumbuka
ntuzodushikira
kuko ikinyoma twakigize ubuhungiro bwacu,
twihisha mu bubeshi+.»
16 Ni co gituma Umukama Segaba Yehova avuze ati:
«Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye ry’umushinge, ibuye ryagejejwe+.
Ndiko ndahashinga ibuye rigumya imfuruka+ ry’agaciro ngo ribe umushinge ukomeye+.
Nta wizera azota umutwe+.
Urubura ruzokukumura ubuhungiro bw’ikinyoma,
amazi na yo asegenyuke akureho ahantu mwihisha.
Umwuzure ukaze niwatera giturumbuka
uzobamenagura.
Ukuranduka umutima ni kwo gusa kuzotuma abantu batahura ivyo bumvise*.»
20 Kuko uburiri ari bugufi cane ku buryo ata woryama agororotse,
n’ishuka ni ntoyi cane ku buryo ata woyikwirwamwo.
21 Kuko Yehova azova hasi nk’uko yabigize ku musozi Perasimu,
agire ico akoze nko muri ca kiyaya kiri hafi y’i Gibeyoni+.
Hazoba ari ukugira ngo akore igikorwa ciwe, igikorwa ciwe gitangaje,
no kugira ngo ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe kidasanzwe+.
22 None rero, ntimushinyagure+,
kugira ngo imizana yanyu ntibayidadire rwose,
kuko numvise Umukama Segaba Yehova Nyeningabo
23 Nimutege ugutwi, mwumvirize ijwi ryanje.
Nimutege yompi, mwumvirize ivyo mvuga.
24 Mbega umurimyi arima umusi wose ngo abone gutera imbuto?
Yoba aguma akubita isuka, ategura aho arima+?
25 Mbega amaze kuharinganiza,
ntaca amijagira kumino* yirabura, agateragira kumino isanzwe?
Mbega ntateragira ingano, amasaka na sayiri* aho biterwa,
27 Erega kumino yirabura ntibayihonyangisha ibibaho batonoza intete*+,
kandi nta pine ry’umukogote bacisha kuri kumino isanzwe.
Ahubwo kumino yirabura bayikubitisha inkoni,
kumino isanzwe bakayikubitisha ikibando.
28 Mbega intete bakuramwo umukate barazijanjagura?