Hoseya
3 Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka+, ndabaterura mu maboko yanje+,
mugabo ntibamenye ko ari jewe nabakijije.
4 Nagumye ndabakwegesha imigozi y’abantu*, imigozi y’urukundo+.
Nababereye nk’uwubakura ingogo* kw’izosi*,
ndaheza ndabazanira imfungurwa ndabigiranye impuhwe*.
6 Inkota izozunguruka mu bisagara vyabo+,
itemagure ivyugazo vyabo yongere ibatikize kubera imigambi yabo mibi+.
7 Abantu banje biyemeje kumpemukira+.
Naho babahamagara ngo bagaruke kuri Musumbavyose*, nta n’umwe ahaguruka.
8 Noguheba gute ga Efurayimu+?
Ewe Isirayeli, nogutanga gute ku bansi bawe?
Noshobora gute kugufata nka Adima?
Noshobora gute kukugira nka Zeboyimu+?
9 Sinzogira nk’uko ishavu ryanje rigize.
Sinzosubira guhonya Efurayimu+,
kuko ndi Imana, ntari umuntu.
Ndi wa Mweranda hagati yanyu,
kandi sinzobahana nashavuye.
10 Bazogendera inyuma ya Yehova, kandi azoroha nk’intambwe+.
Niyaroha, abana biwe bazoza barajugumira bavuye mu burengero+.
11 Nibava mu Misiri, bazoza barajugumira nk’inyoni.
Bazojugumira nk’inuma nibava mu gihugu ca Ashuri+,
kandi nzotuma bibera mu mazu yabo», ni ko Yehova avuze+.
Ariko Yuda aracagendana n’Imana,
kandi ni umwizigirwa kuri wa Mweranda cane+.»