ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gucura intimba 1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Gucura intimba: ibirimwo

      • Yeruzalemu igereranywa n’umupfakazi

        • Yicaye ari inyakamwe, yahebwe (1)

        • Ibicumuro bikomeye vya Siyoni (8, 9)

        • Imana yarahevye Siyoni (12-15)

        • Siyoni ntagira uwumuhoza (17)

Gucura intimba 1:akajambo k’intangamarara

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ikigabane ca 1-4 ni indirimbo z’intimba zigizwe n’imirongo yanditswe hisunzwe uko indome z’igiheburayo zikurikirana.

Gucura intimba 1:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 122:3, 4
  • +1Bm 4:20
  • +Gus 28:15, 48; 2Bm 25:11, 12

Gucura intimba 1:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 1:16
  • +Yr 4:30; Ezk 16:37
  • +Yr 30:14

Gucura intimba 1:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abo mu Buyuda.»

  • *

    Canke «abamuhama.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:33; 2Bm 24:14, 15; 25:21; Yr 39:9; 52:27
  • +Yr 17:4
  • +Gus 28:64

Gucura intimba 1:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «inkumi ziwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Am 8:10
  • +Yes 3:26

Gucura intimba 1:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ari umutwe wiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 1:15
  • +2Ng 36:15, 16; Neh 9:33; Dn 9:7, 16
  • +Yr 39:9; 52:30

Gucura intimba 1:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    «Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.

  • *

    Canke «abaganwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 24:21

Gucura intimba 1:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «barigina.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 10:27
  • +Yr 52:4
  • +Zb 137:7; Int 2:16

Gucura intimba 1:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:4; 59:2; Ezk 22:4
  • +Yr 13:22; Ezk 23:29
  • +Yr 4:31

Gucura intimba 1:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 8:7
  • +Yr 50:29

Gucura intimba 1:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 52:17, 19; Dn 1:1, 2
  • +2Ng 36:17, 18; Zb 74:7; Yr 52:13

Gucura intimba 1:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bohembuka.»

  • *

    Uwo mugore agereranya Yeruzalemu.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 38:9; 52:6; Int 2:12; 4:4

Gucura intimba 1:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 21:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2007, rup. 8

Gucura intimba 1:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 102:3

Gucura intimba 1:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nk’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:37; Ezk 11:9

Gucura intimba 1:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:14, 15
  • +2Ng 36:17
  • +Ivh 14:19; 19:15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/6/2007, rup. 8

Gucura intimba 1:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 31:15

Gucura intimba 1:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:31
  • +Gus 28:49; 2Bm 24:1, 2; 25:1
  • +Int 1:8

Gucura intimba 1:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «akanwa kiwe.»

  • *

    Canke «inkumi zanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Neh 9:33; Dn 9:7
  • +1Sm 12:14, 15
  • +Gus 28:32

Gucura intimba 1:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bohembuka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 30:14
  • +2Bm 25:3; Yr 38:9

Gucura intimba 1:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 107:11; Yes 1:2; 63:10
  • +Gus 32:25; Yr 15:2

Gucura intimba 1:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 25:6, 7; Ob 12
  • +Yes 13:19; Yr 25:12-14; Yw 3:19
  • +Zb 137:8, 9; Yes 51:22, 23

Gucura intimba 1:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 51:35

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Int. 1:1Zb 122:3, 4
Int. 1:11Bm 4:20
Int. 1:1Gus 28:15, 48; 2Bm 25:11, 12
Int. 1:2Int 1:16
Int. 1:2Yr 4:30; Ezk 16:37
Int. 1:2Yr 30:14
Int. 1:3Lw 26:33; 2Bm 24:14, 15; 25:21; Yr 39:9; 52:27
Int. 1:3Yr 17:4
Int. 1:3Gus 28:64
Int. 1:4Yes 3:26
Int. 1:4Am 8:10
Int. 1:5Zk 1:15
Int. 1:52Ng 36:15, 16; Neh 9:33; Dn 9:7, 16
Int. 1:5Yr 39:9; 52:30
Int. 1:6Ezk 24:21
Int. 1:71Bm 10:27
Int. 1:7Yr 52:4
Int. 1:7Zb 137:7; Int 2:16
Int. 1:8Yes 1:4; 59:2; Ezk 22:4
Int. 1:8Yr 13:22; Ezk 23:29
Int. 1:8Yr 4:31
Int. 1:9Yr 8:7
Int. 1:9Yr 50:29
Int. 1:10Yr 52:17, 19; Dn 1:1, 2
Int. 1:102Ng 36:17, 18; Zb 74:7; Yr 52:13
Int. 1:11Yr 38:9; 52:6; Int 2:12; 4:4
Int. 1:12Yr 21:7
Int. 1:13Zb 102:3
Int. 1:14Lw 26:37; Ezk 11:9
Int. 1:152Bm 24:14, 15
Int. 1:152Ng 36:17
Int. 1:15Ivh 14:19; 19:15
Int. 1:16Yr 31:15
Int. 1:17Yr 4:31
Int. 1:17Gus 28:49; 2Bm 24:1, 2; 25:1
Int. 1:17Int 1:8
Int. 1:18Neh 9:33; Dn 9:7
Int. 1:181Sm 12:14, 15
Int. 1:18Gus 28:32
Int. 1:19Yr 30:14
Int. 1:192Bm 25:3; Yr 38:9
Int. 1:20Zb 107:11; Yes 1:2; 63:10
Int. 1:20Gus 32:25; Yr 15:2
Int. 1:21Ezk 25:6, 7; Ob 12
Int. 1:21Yes 13:19; Yr 25:12-14; Yw 3:19
Int. 1:21Zb 137:8, 9; Yes 51:22, 23
Int. 1:22Yr 51:35
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Gucura intimba 1:1-22

Gucura intimba

א [Alefu*]

1 Ewe kuntu ubu yicaye ari inyakamwe, umwe yahora ari igisagara kigwiriyemwo abantu+!

Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi, umwe yahoramwo abantu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+!

Ewe kuntu uwahora ari umuganwakazi mu ntara asigaye akoreshwa ibikorwa vy’agahato+!

ב [Beti]

 2 Ararira cane mw’ijoro+, amosozi akuzura ku matama.

Mu bakunzi biwe bose, nta n’umwe yaje kumuhoza+.

Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi biwe.

ג [Gimelu]

 3 Yuda* yajanywe mu bunyagano+ ari mu marushwa, arembejwe n’ubushumba bukaze+.

Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira afise.

Abamwirukako* bose bamuhambirije mu marushwa.

ד [Daleti]

 4 Inzira zija i Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.

Amarembo yiwe yose ni umusaka+. Abaherezi biwe baraniha.

Abigeme biwe b’isugi* bishwe n’intuntu, kandi na we ubwiwe afise amaganya menshi.

ה [He]

 5 Abamurwanya ni bo basigaye bamutegeka*. Abansi biwe nta co banezwe+.

Yehova yamuteje intuntu kubera ibicumuro vyiwe vyinshi+.

Abana biwe bajanywe kugirwa imbohe bashorewe n’uwumurwanya+.

ו [Vau]

 6 Ubwiza bwose bw’umukobwa wa Siyoni* buramuvuyeko+.

Abatware* biwe bameze nk’impongo zabuze ubwatsi bwo kurisha.

Bagendera imbere y’uwubirukako, bishwe n’uburu⁠he.

ז [Zayini]

 7 Ubu Yeruzalemu ageze mu marushwa n’abantu biwe bakaba basigaye batagira aho baba,

aribuka ibintu vyose vy’agaciro yahorana kera+.

Igihe abantu biwe bagwa mu maboko y’ababarwanya, na we akabura uwumutabara+,

abamurwanya baramubonye baramutwenga* kubera yasenyutse+.

ח [Heti]

 8 Yeruzalemu yaracumuye bikomeye+.

Ni co gituma asigaye ashisha.

Abahora bamutera iteka bose basigaye bamugaya kuko babonye ubwambure bwiwe+.

We ubwiwe araboroga+, akaraba hirya kubera ibimaramare.

ט [Teti]

 9 Impuzu ziwe zirahumanye.

Ntiyiyumviriye kazoza kiwe+.

Ugutemba kwiwe kwari gutangaje. Ntagira uwumuhoza.

Ewe Yehova, raba amarushwa yanje, kuko umwansi yigize agahambaye+.

י [Yodi]

10 Uwumurwanya yashoreye amaboko ku butunzi bwiwe bwose arabusahura+.

Yeruzalemu yabonye amahanga yinjira ahantu hiwe heranda+,

amwe wategeka ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe.

כ [Kafu]

11 Abantu biwe bose baraniha. Barondera ivyo kurya+.

Batanze ibintu vyabo vy’agaciro kugira gusa baronke utwo batamira, barabe ko boba barabayeho*.

Ewe Yehova, raba, witegereze ingene nsigaye meze nk’umugore* ata co amaze.

ל [Lamedi]

12 Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese muhita ku nzira?

Nimwitegereze, murabe.

Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro natejwe,

umubabaro Yehova yatumye ngira ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+?

מ [Memu]

13 Ari iyo hejuru yarungitse umuriro mu magufa yanje+, rimwerimwe ryose ararinesha.

Yateze ibirenge vyanje urusenga, atuma nsubira inyuma.

Yatumye mba umugore w’inyakamwe.

Umusi wose nirirwa ndwaye.

נ [Nuni]

14 Ibicumuro vyanje bitekewe nk’igiti bikoreza imizigo*. Yabifatanije akoresheje amaboko yiwe.

Yabinteretse kw’izosi, nsigara ata nkomezi mfise.

Yehova yantanze mu maboko y’abo ntashobora gutsinda+.

ס [Sameki]

15 Yehova yashibuye abagabo bose b’abanyenkomezi bari iwanje+.

Yatumyeko ishengero ryo kundwanya ngo risavye imisore yanje+.

Yehova yahonyangiye mu ruganiro rw’umuvinyu+ umukobwa w’isugi w’Ubuyuda.

ע [Ayini]

16 Ivyo bintu ni vyo biriko birandiza+. Amaso yanje atemba amosozi.

Uwo wese yari kumpoza canke kumpembura ari kure yanje.

Abana banje nta cizigiro bafise kuko umwansi yatsinze.

פ [Pe]

17 Siyoni yashanje amaboko atabaza+. Ntagira uwumuhoza.

Yehova yategetse abansi bose ba Yakobo bamukikuje ngo bamurwanye+.

Yeruzalemu isigaye ibashisha+.

צ [Tsade]

18 Yehova aragororotse+ kuko nagararije amabwirizwa yiwe*+.

Nimwumvirize yemwe mahanga mwese, murabe umubabaro wanje.

Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+.

ק [Kofu]

19 Nahamagaye abakunzi banje mugabo barampemukiye+.

Abaherezi banje n’abashingantahe banje bapfiriye mu gisagara

barondera utwo batamira, ngo barabe ko boba barabayeho*+.

ר [Reshi]

20 Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi cane.

Mu nda* haradobanganye.

Umutima wanje wacuramiye muri jewe kuko nagararije+ ndaherezako.

Hanze inkota irahekura+, mu nzu na ho ni urupfu.

ש [Shini]

21 Abantu bumvise ingene niha. Nta wumpoza ariho.

Abansi banje bose bumvise ivyago vyanje.

Bafise umunezero kuko wanteje ivyago+.

Mugabo uzozana umusi wavuze ko uzobazanako+. Uwo musi bazomera nkanje+.

ת [Tau]

22 Ikibi cabo cose kize cibonekeze imbere yawe, ubamerere nabi+,

nk’uko wamereye nabi kubera ibicumuro vyanje vyose.

Kuko iminiho yanje ari myinshi, n’umutima wanje ukaba urwaye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika