Ezira
2 Aba ni bo bantu bo mu ntara* bavuye mu mbohe+ Nebukadinezari umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano i Babiloni+, maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no mu Buyuda, umwe wese agasubira mu gisagara c’iwabo+. 2 Baje bazananye na Zerubabeli+, Yeshuwa+, Nehemiya, Seraya, Reyelaya, Morudekayi, Bilishani, Misipari, Bigivayi, Rehumu na Bayana.
Igitigiri c’abagabo b’Abisirayeli cari iki+: 3 abahungu* ba Paroshi bari 2.172. 4 Abahungu ba Shefatiya bari 372. 5 Abahungu ba Ara+ bari 775. 6 Abahungu ba Pahati-Mowabu+ bakomoka kuri Yeshuwa na Yowabu bari 2.812. 7 Abahungu ba Elamu+ bari 1.254. 8 Abahungu ba Zatu+ bari 945. 9 Abahungu ba Zakayi bari 760. 10 Abahungu ba Bani bari 642. 11 Abahungu ba Bebayi bari 623. 12 Abahungu ba Azigadi bari 1.222. 13 Abahungu ba Adonikamu bari 666. 14 Abahungu ba Bigivayi bari 2.056. 15 Abahungu ba Adini bari 454. 16 Abahungu ba Ateri bakomoka kuri Hezekiya bari 98. 17 Abahungu ba Bezayi bari 323. 18 Abahungu ba Yora bari 112. 19 Abahungu ba Hashumu+ bari 223. 20 Abahungu ba Gibari* bari 95. 21 Ab’i Betelehemu bari 123. 22 Abagabo b’i Netofa bari 56. 23 Abagabo b’i Anatoti+ bari 128. 24 Ab’i Azimaveti bari 42. 25 Ab’i Kiriyati-Yeyarimu, i Kefira n’i Beroti bari 743. 26 Ab’i Rama+ n’i Geba+ bari 621. 27 Abagabo b’i Mikimasi bari 122. 28 Abagabo b’i Beteli n’i Ayi+ bari 223. 29 Ab’i Nebo+ bari 52. 30 Abahungu b’i Magibishi* bari 156. 31 Abahungu ba Elamu wundi bari 1.254. 32 Abahungu ba Harimu bari 320. 33 Ab’i Lodi, i Hadidi n’i Ono bari 725. 34 Ab’i Yeriko bari 345. 35 Ab’i Senaya* bari 3.630.
36 Abaherezi+ bari aba: abahungu ba Yedaya+ bo mu muryango wa Yeshuwa+ bari 973. 37 Abahungu ba Imeri+ bari 1.052. 38 Abahungu ba Pashuri+ bari 1.247. 39 Abahungu ba Harimu+ bari 1.017.
40 Abalewi+ bari aba: abahungu ba Yeshuwa na Kadumiyeli+ bakomoka kuri Hodaviya bari 74. 41 Abaririmvyi+ bari aba: abahungu ba Asafu+ bari 128. 42 Abahungu b’abarinzi b’amarembo+ bari aba: abahungu ba Shalumu, aba Ateri, aba Talimoni+, aba Akubu+, aba Hatita, n’aba Shobayi. Bose hamwe bari 139.
43 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ bari aba: abahungu ba Ziha, aba Hasufa, aba Tabayoti, 44 aba Kerosi, aba Siyaha, aba Padoni, 45 aba Lebana, aba Hagaba, aba Akubu, 46 aba Hagabu, aba Salumayi, aba Hanane, 47 aba Gideli, aba Gahari, aba Reyaya, 48 aba Rezini, aba Nekoda, aba Gazamu, 49 aba Uza, aba Paseya, aba Besayi, 50 aba Asina, ab’Abamewunimu*, aba Nefusimu*, 51 aba Bakibuki, aba Hakufa, aba Harihuri, 52 aba Baziluti, aba Mehida, aba Harisha, 53 aba Barikosi, aba Sisera, aba Tema, 54 aba Neziya n’aba Hatifa.
55 Abahungu b’abasuku ba Salomo bari aba: abahungu ba Sotayi, aba Sofereti, aba Peruda+, 56 aba Yahala, aba Darikoni, aba Gideli, 57 aba Shefatiya, aba Hatili, aba Pokereti-Hazebayimu n’aba Ami.
58 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* n’abahungu b’abasuku ba Salomo, bose hamwe bari 392.
59 Aba bakurikira baduze bava i Teli-Mela, i Teli-Harisha, i Kerubi, i Adoni n’i Imeri, mugabo ntibashoboye kwerekana neza umuryango bavamwo n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bari Abisirayeli+: 60 Abahungu ba Delaya, aba Tobiya n’aba Nekoda bari 652. 61 Mu bahungu b’abaherezi hari aba: abahungu ba Habaya, aba Hakozi+ n’aba Baruzilayi. Uwo Baruzilayi yarongoye umwe mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umunyagileyadi, aca yitirirwa izina ryabo. 62 Abo bararondeye aho banditswe kugira ngo berekane amamuko yabo mugabo ntibahabona, bituma bakurwa mu buherezi*+. 63 Nuko buramatari* ababwira ko batoshobora kurya ku bintu vyeranda cane+ gushika habonetse umuherezi yobaza Imana biciye kuri Urimu na Tumimu*+.
64 Abantu bose bari bagize iryo shengero bari 42.360+. 65 Aho ntidushizemwo abashumba babo n’abashumbakazi babo 7.337. Bari bafise n’abaririmvyi be n’abaririmvyikazi 200. 66 Bari bafise amafarasi 736, inyumpu* 245, 67 ingamiya 435 n’indogobwa 6.720.
68 Bamwe mu bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli bamaze gushika ku nzu ya Yehova i Yeruzalemu, baciye batanga amashikanwa bavyishakiye+ ku bw’inzu y’Imana y’ukuri, kugira ngo isubire kwubakwa* aho yahora+. 69 Umwe wese yagize uko ashoboye, batanga amadarakima* 61.000 y’inzahabu, imina* 5.000 z’ifeza+ n’amakanzu 100 y’abaherezi, babishira mu kigega c’ico gikorwa. 70 Maze abaherezi, Abalewi, abaririmvyi, abarinzi b’amarembo, abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* n’abanyagihugu basanzwe, baja kuba mu bisagara vyabo. Nuko Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo+.