Yesaya
8 Yehova ambwira ati: «Tora igisate+ kinini uheze ucandikeko n’ikaramu*, ngo: “Maheri-Shalali-Hashi-Bazi*.” 2 Kandi nipfuza ko ivyabona vyizigirwa, ni ukuvuga umuherezi Uriya+ na Zakariya mwene Yeberekiya, bavyemeza mu nyandiko*.»
3 Maze ndyamana* n’umuhanuzikazi*, na we aribungenga araheza yibaruka umuhungu+. Nuko Yehova ambwira ati: «Numwite Maheri-Shalali-Hashi-Bazi, 4 kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kuvuga ngo: “Dawe” na “Mawe”, itunga ry’i Damasiko n’ivyasahuwe i Samariya bizojanwa imbere y’umwami wa Ashuri+.»
5 Yehova yongera kumbwira ati:
6 «Kubera ko aba bantu banse amazi ya Shilowa* atemba buhorobuhoro+,
bagashima Rezini na mwene Remaliya+,
7 jewe Yehova ngira ndabazaneko
amazi akomeye kandi menshi ya rwa ruzi runini*,
Azoshwara hose yuzure gushika kw’izosi+.
Azosanza amababa yiwe yuzure ubwaguke bw’igihugu cawe,
9 Nimukore ikibi yemwe mahanga, yamara muzojanjagurwa.
Nimutege ugutwi, mwese abo mu mihingo ya kure y’isi.
Nimwitegurire urugamba* yamara muzojanjagurwa+.
Nimwitegurire urugamba yamara muzojanjagurwa.
10 Nimutegure umugambi, ariko uzosamburwa.
11 Ukuboko gukomeye kwa Yehova kwari kuri jewe igihe yamburira ngo sinigane aba bantu. Yambwiye ati:
12 «Ivyo aba bantu bita umugambi mubi, ntimuvyite umugambi mubi.
Ntimutinye ivyo batinya
canke ngo bibajugumize.
13 Yehova Nyeningabo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda+,
ni we mukwiye gutinya,
kandi ni we akwiye kubajugumiza+.»
14 Ubwami bubiri bwo muri Isirayeli
azobubera ahantu heranda,
mugabo kandi azoba nk’ibuye batsitarako
n’igitandara kibagwisha+.
Ababa i Yeruzalemu azobabera
nk’umutego n’umushibuka.
15 Benshi muri bo bazotsitara bagwe, bavunagurike.
Bazogwa mu mutego ubacakire.
17 Nzoguma ndindiriye* Yehova+, umwe yahishije mu maso hiwe abakomoka kuri Yakobo+, kandi nzomwizigira.
18 Raba! Twe n’abana Yehova yampaye+, muri Isirayeli turi nk’ibimenyetso+ n’ibitangaro biva kuri Yehova Nyeningabo, umwe aba ku musozi Siyoni.
19 Kandi nibababwira ngo: «Nimubaze abakora ivyo guhanuza abapfuye* na ba rumenyi bavuga bajwira nk’inyoni bakongorera», muzobikora? Mbega abantu ntibari bakwiye kubaza Imana yabo? Mbega abapfuye ni bo umuntu yobaza ivy’abazima+? 20 Ahubwo bari bakwiye kuraba ico amategeko n’icemezo canditse bivuga.
Bavuze ibidahuye n’ayo majambo nta muco* baba bafise+. 21 Umwe wese azoca mu gihugu amerewe nabi kandi ashonje+. Kubera inzara n’ishavu, azovuma umwami wiwe n’Imana yiwe araba hejuru. 22 Azoca araba hasi, abone gusa amagorwa n’umwiza, umwijima, ibihe bigoye n’umuzimagiza, ata muco uhari.