ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

1 Abami: ibirimwo

      • Ubuhanuzi bwerekeye igicaniro c’i Beteli (1-10)

        • Ico gicaniro gisaduka (5)

      • Umuntu w’Imana agambarara (11-34)

1 Abami 13:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha rirashobora no gusobanura «guturira imibavu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:16, 17
  • +1Bm 12:32; Am 3:14

1 Abami 13:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:24; 22:1
  • +2Bm 23:15, 16; 2Ng 34:33

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2014, rup. 5

1 Abami 13:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikimenyamenya.»

  • *

    Canke «ikimenyamenya.»

  • *

    Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.

1 Abami 13:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kuruma.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 16:10; Yr 20:2
  • +2Bm 6:18

1 Abami 13:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ca kimenyamenya.»

1 Abami 13:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 10:16, 17; Gh 21:7; Yr 37:3; Ivk 8:24

1 Abami 13:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2008, rup. 8-9

1 Abami 13:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «c’inzu yawe.»

1 Abami 13:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»

1 Abami 13:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 13:1

1 Abami 13:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urirayo canke amazi unywerayo.»

1 Abami 13:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kugira arye umukate, anywe n’amazi.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2008, rup. 9

1 Abami 13:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 13:30; 2Bm 23:17, 18

1 Abami 13:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «aca ashira ivyo kwicarako ku ndogobwa ya wa muhanuzi yari yasubije inyuma.»

1 Abami 13:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 6:7; 1Bm 20:35, 36; 2Bm 17:25

1 Abami 13:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 13:9
  • +1Bm 13:21, 22

1 Abami 13:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:17, 18

1 Abami 13:32

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:30; 1Bm 12:29, 31
  • +2Bm 23:15, 19

1 Abami 13:33

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yaramwuzuza ukuboko.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:25, 31
  • +2Ng 11:14, 15

1 Abami 13:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 16:30, 31; 2Bm 3:1, 3; 10:31; 13:1, 2
  • +1Bm 14:10; 15:25-29; 2Bm 17:22, 23

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

1 Abm. 13:12Bm 23:16, 17
1 Abm. 13:11Bm 12:32; Am 3:14
1 Abm. 13:22Bm 21:24; 22:1
1 Abm. 13:22Bm 23:15, 16; 2Ng 34:33
1 Abm. 13:42Ng 16:10; Yr 20:2
1 Abm. 13:42Bm 6:18
1 Abm. 13:6Kv 10:16, 17; Gh 21:7; Yr 37:3; Ivk 8:24
1 Abm. 13:141Bm 13:1
1 Abm. 13:221Bm 13:30; 2Bm 23:17, 18
1 Abm. 13:242Sm 6:7; 1Bm 20:35, 36; 2Bm 17:25
1 Abm. 13:261Bm 13:9
1 Abm. 13:261Bm 13:21, 22
1 Abm. 13:312Bm 23:17, 18
1 Abm. 13:32Lw 26:30; 1Bm 12:29, 31
1 Abm. 13:322Bm 23:15, 19
1 Abm. 13:331Bm 12:25, 31
1 Abm. 13:332Ng 11:14, 15
1 Abm. 13:341Bm 16:30, 31; 2Bm 3:1, 3; 10:31; 13:1, 2
1 Abm. 13:341Bm 14:10; 15:25-29; 2Bm 17:22, 23
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Abami 13:1-34

Abami ba mbere

13 Maze umuntu umwe w’Imana+ ava mu Buyuda aza i Beteli, arungitswe na Yehova. Yahashitse Yerobowamu ahagaze iruhande y’igicaniro+ agira atange ibimazi ngo bifumbe umwotsi*. 2 Maze arasemerera abwira nya gicaniro ivyo Yehova yamutegetse kuvuga, akibwira ati: «Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Yehova avuze ati: “Hari umuhungu yitwa Yosiya+ azovuka mu muryango wa Dawidi. Azogutangako abaherezi bakorera mu bibanza vyo gusengeramwo*, babe ibimazi. Ni bamwe bagutangako ibimazi bigafumba umwotsi. Azoturirira n’amagufa y’abantu kuri wewe+.”» 3 Kuri uwo musi nyene, uwo muntu w’Imana atanga ikimenyetso*, avuga ati: «Ng’iki ikimenyetso* Yehova atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, iminyota* iri kuri co iseseke.»

4 Umwami Yerobowamu akimara kwumva ivyo uwo muntu w’Imana y’ukuri asemereye abwira ico gicaniro cari i Beteli, akura ukuboko ku gicaniro amutunga urutoke*, avuga ati: «Mufate+!» Ukwo kuboko yari amurabishijeko guca kuradadarara*, biranka ko akugarukana+. 5 Nya gicaniro gica kirasaduka, iminyota yari kuri co iraseseka. Cari ca kimenyetso* uwo muntu w’Imana y’ukuri yari ahejeje gutanga kivuye kuri Yehova.

6 Umwami aca abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ndakwinginze utakambire Yehova Imana yawe, umusabe akize ukuboko kwanje+.» Uwo muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira Yehova, maze ukuboko kw’umwami gusubira kumera uko kwahora. 7 Umwami araheza abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ingo tujane iwanje ndaguhe utwo utamira, ndaguhe n’ingabire.» 8 Mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri yishura umwami ati: «Naho wompa ica kabiri c’ivyo utunze*, sinojana nawe ngo ngire ico ndira canke nywera aha hantu. 9 Kuko Yehova yantegetse ati: “Ntihaze hagire ico urya canke unywa*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 10 Aca aragenda, ajana iyindi nzira. Ntiyasubiye inyuma aciye mu nzira yari yazananye mu kuza i Beteli.

11 Aho i Beteli hari umuhanuzi w’umutama. Abahungu biwe batashe, bamubwira ibintu vyose wa muntu w’Imana y’ukuri yakoreye i Beteli uwo musi n’ivyo yabwiye umwami. Bamaze kubimwiganira, 12 ababaza ati: «Yajanye inzira iyihe?» Abahungu biwe baca bamwereka inzira uwo muntu w’Imana y’ukuri yaje ava mu Buyuda yajanye. 13 Maze abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Barayimutegurira, aca ayurirako.

14 Nuko akurikira wa muntu w’Imana y’ukuri, amusanga aho yicaye munsi y’igiti kinini. Maze amubaza ati: «Woba uri wa muntu w’Imana y’ukuri yavuye mu Buyuda+?» Na we ati: «Ni jewe.» 15 Uwo muhanuzi amubwira ati: «Ingo tujane muhira nguhe ico ufungura.» 16 Ariko amwishura ati: «Sinshobora gusubirana inyuma nawe canke ngo nze iwawe. Sinshobora no gusangira nawe ngo ngire ico ndira canke nywera muri aka karere. 17 Kuko Yehova yambwiye ati: “Ntihaze hagire ico urirayo canke unywerayo*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 18 Wa muhanuzi aca amubwira ati: «Nanje ndi umuhanuzi nkawe, kandi Yehova yatumye umumarayika wiwe kumbwira ati: “Genda umugarukane aze iwawe kugira umuhe ico afungura n’ico anywa*.”» (Yariko aramuhenda.) 19 Uwo muntu w’Imana aca asubirana inyuma n’uwo muhanuzi, bajana iwe, ararya aranywa.

20 Bari ku meza, ijambo rya Yehova riza kuri uwo muhanuzi yari yamusubije inyuma. 21 Maze abwira n’ijwi ryo hejuru uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yavuye mu Buyuda ati: «Yehova avuze ati: “Ko wagararije itegeko rya Yehova, ukarenga ku vyo Yehova Imana yawe yari yagutegetse, 22 ugasubira inyuma, ukarira ukongera ukanywera aha hantu, kandi yari yakubwiye ati: ‘Ntihaze hagire ico urya canke ico unywa*’, umuvyimba wawe ntibazowuhamba aho bahamvye ba sokuruza bawe+.”»

23 Uwo muntu w’Imana y’ukuri amaze kurya no kunywa, uwo muhanuzi w’umutama aca amutegurira indogobwa*. 24 Maze afata inzira aragenda mugabo ahura n’intambwe iramwica+, umuvyimba wiwe uguma aho ku nzira. Nya ndogobwa n’iyo ntambwe biguma bihagaze iruhande yawo. 25 Maze abantu bariko bararengana babona nya muvyimba uri aho ku nzira, na ya ntambwe ihagaze iruhande yawo. Bashitse mu gisagara wa muhanuzi w’umutama yabamwo, batangura kuvyiganira abantu.

26 Wa muhanuzi yari yamusubije inyuma avyumvise, aca avuga ati: «Ni wa muntu w’Imana y’ukuri yagarariza itegeko rya Yehova+. Yehova yarungitse intambwe ngo imutabagure, imwice, nk’uko nyene Yehova yari yabimubwiye+.» 27 Aca abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Nuko barayimutegurira. 28 Maze aragenda, asanga wa muvyimba ku nzira, ya ndogobwa na ya ntambwe bihagaze iruhande yawo. Iyo ntambwe ntiyariye uwo muvyimba canke ngo itabagure iyo ndogobwa. 29 Uwo muhanuzi aca aterura umuvyimba wa nya muntu w’Imana y’ukuri, awushira ku ndogobwa. Araheza amugarukana mu gisagara abamwo kugira ngo amuririre yongere amuhambe. 30 Amuhamba mu mva yiwe maze baramuborogera bavuga bati: «Yoo, birababaje mwenewacu, birababaje!» 31 Bamaze kumuhamba, uwo muhanuzi abwira abahungu biwe ati: «Ninapfa muze mumpambe aho uyu muntu w’Imana y’ukuri yahambwe. Amagufa yanje muze muyashire iruhande y’ayiwe+. 32 Kuko ivyo Yehova yamutegetse kubwira ca gicaniro kiri i Beteli na twa tuzu tw’ibigirwamana two mu bibanza vyo gusengeramwo+ biri mu bisagara vyo mu karere ka Samariya, bizoranguka ata kabuza+.»

33 Naho ivyo vyose vyabaye, Yerobowamu ntiyahevye ibintu bibi yakora. Ahubwo yagumye agena abaherezi bo gukorera mu bibanza vyo gusengeramwo, abatoye mu bantu basanzwe+. Uwubishaka wese yaramwemerera kuba umuherezi*, akavuga ati: «Niyibere umuherezi wo mu bibanza vyo gusengeramwo+.» 34 Ico gicumuro abo mu muryango wa Yerobowamu bakoze+, catumye bahona, barazimangana kw’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika