ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

2 Ngoma: ibirimwo

      • Abisirayeli bagarariza Rehobowamu (1-19)

2 Ngoma 10:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 20:7; 24:1; Abc 9:1
  • +1Bm 12:1-4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    6/2018, rup. 13

2 Ngoma 10:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 11:28
  • +1Bm 11:40

2 Ngoma 10:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «w’amananiza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 8:11-18; 1Bm 4:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    6/2018, rup. 13

2 Ngoma 10:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:5-7

2 Ngoma 10:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abashingantahe.»

2 Ngoma 10:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abashingantahe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:8-11

2 Ngoma 10:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Vyari ibimoko biriko udupfundo canke utuntu dusongoye. Vyari bimeze nk’umurizo w’agakoko kitwa akamina (scorpion).

2 Ngoma 10:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 12:12-15

2 Ngoma 10:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «abashingantahe.»

2 Ngoma 10:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 2:30; 2Sm 17:14
  • +1Bm 11:29-31

2 Ngoma 10:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ewe Dawidi.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «basubira ku mahema yabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 11:32
  • +1Bm 12:16, 17

2 Ngoma 10:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 11:35, 36

2 Ngoma 10:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu 1Bm 4:6 yitwa Adoniramu, mu 1Bm 12:18 akitwa Adoramu.

  • *

    Biboneka ko ari Abisirayeli bo mu miryango cumi yo mu buraruko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 20:24; 1Bm 4:6
  • +1Bm 12:18, 19

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

2 Ngo. 10:1Yos 20:7; 24:1; Abc 9:1
2 Ngo. 10:11Bm 12:1-4
2 Ngo. 10:21Bm 11:28
2 Ngo. 10:21Bm 11:40
2 Ngo. 10:41Sm 8:11-18; 1Bm 4:7
2 Ngo. 10:51Bm 12:5-7
2 Ngo. 10:81Bm 12:8-11
2 Ngo. 10:121Bm 12:12-15
2 Ngo. 10:15Gus 2:30; 2Sm 17:14
2 Ngo. 10:151Bm 11:29-31
2 Ngo. 10:161Bm 11:32
2 Ngo. 10:161Bm 12:16, 17
2 Ngo. 10:171Bm 11:35, 36
2 Ngo. 10:182Sm 20:24; 1Bm 4:6
2 Ngo. 10:181Bm 12:18, 19
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma 10:1-19

Ngoma za kabiri

10 Rehobowamu aja i Shekemu+, kuko ari ho Abisirayeli bose bari bakoraniye ngo bamwimike+. 2 Yerobowamu+ mwene Nebati aravyumva. (Ico gihe yari akiri mu Misiri kuko yari yarahunze umwami Salomo+.) Akivyumva aca ava mu Misiri aragaruka. 3 Maze bamutumako. Nuko Yerobowamu n’Abisirayeli bose baza kwa Rehobowamu bamubwira bati: 4 «So yatwikoreje umutwaro utoroshe+. Niwaturemurura ibikorwa biruhisha so yadukoresha n’uwo mutwaro utoroshe* yatwikoreje, tuzoheza tugukorere.»

5 Na we ababwira ati: «Muzogaruke inyuma y’imisi itatu.» Baca baragenda+. 6 Maze umwami Rehobowamu agisha inama abagabo b’inararibonye* bari barakoreye se Salomo akiriho, ababwira ati: «Aba bantu mumpanuye ndabishure gute?» 7 Bamwishura bati: «Niwababera umuntu mwiza ukabashimisha, ukabishurana umutima mwiza, bazokwama bagukorera.»

8 Ariko yanka kwumvira impanuro abagabo b’inararibonye* bamuhaye, agisha inama imisore bakuranye yari isigaye imukorera+. 9 Ababaza ati: «Aba bantu bambwiye ngo ndabaremurure umutwaro dawe yabikoreje. None mumpanuye tubishure gute?» 10 Iyo misore bakuranye imwishura iti: «Abo bantu bakubwiye ngo ubaremurure umutwaro utoroshe so yabikoreje, uze ubabwire uti: “Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba runini kuruta amafyinga ya dawe. 11 Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane*.”»

12 Ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abandi bose bagaruka ku mwami Rehobowamu, kuko yari yababwiye ati: «Muze mugaruke ku musi ugira gatatu+.» 13 Mugabo umwami Rehobowamu abishura abakarira cane, ntiyakurikiza impanuro abagabo b’inararibonye* bari bamuhaye. 14 Yakurikije impanuro ya misore yamuha, ababwira ati: «Nzobikoreza umutwaro uremereye gusumba, mbere ndushirize. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane.» 15 Nuko umwami yanka kwumviriza abantu, kuko Imana y’ukuri ari yo yashaka ko bigenda ukwo+. Kwari ukugira ngo ivyo Yehova yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati biciye kuri Ahiya+ w’i Shilo biranguke.

16 Abisirayeli bose babonye yuko umwami yanse kubumviriza, bamwishura bati: «Mbega Dawidi hari ico duhuriyeko? Hari intoranwa tuzoronka kuri mwene Yese? Umwe wese niyisubirire ku mana ziwe yemwe Bisirayeli! Namwe abakomoka kuri Dawidi* musigare murimenya n’umuryango wanyu+!» Abisirayeli bose baca baritahira*+.

17 Mugabo Rehobowamu abandanya kuganza Abisirayeli baba mu bisagara vy’Ubuyuda+.

18 Mu nyuma umwami Rehobowamu arungika Hadoramu*+ ku Bisirayeli, akaba yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. Mugabo Abisirayeli* bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu we, vyarakunze ko yurira mu mukogote wiwe, ahungira i Yeruzalemu+. 19 Abisirayeli babandanya kugarariza umuryango wa Dawidi gushika n’uyu musi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika