ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ezekiyeli yerekana ingene Yeruzalemu izotemba (1-17)

        • Agaburamwo gutatu umushatsi yimoye (1-4)

        • Yeruzalemu yakoze nabi gusumba ayandi mahanga (7-9)

        • Abagararije bahanwa mu buryo butatu (12)

Ezekiyeli 5:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «yiwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 9:21; Ezk 4:8
  • +Yr 15:2
  • +Lw 26:33; Ezk 5:12

Ezekiyeli 5:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu gice c’epfo c’impuzu.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 12

Ezekiyeli 5:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:4

Ezekiyeli 5:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 16:46, 47

Ezekiyeli 5:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:9, 11; Yr 2:11

Ezekiyeli 5:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 21:5; Ezk 15:7
  • +Gus 29:22, 24; 1Bm 9:8; Int 2:15

Ezekiyeli 5:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 4:6; Dn 9:12

Ezekiyeli 5:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:29; Yr 19:9; Int 4:10
  • +Lw 26:33; Gus 28:64

Ezekiyeli 5:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «nzokugabanya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 20:3; 2Bm 21:1, 7; 2Ng 36:14; Yr 32:34
  • +Int 2:21; Ezk 7:4

Ezekiyeli 5:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «indwara.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 14:12; 15:2; 21:9
  • +Lw 26:33; Yr 9:16; 42:16

Ezekiyeli 5:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kwiheberwa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 16:42
  • +Kv 20:3, 5; 34:14; Gus 6:15

Ezekiyeli 5:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:37; 1Bm 9:7; Neh 2:17

Ezekiyeli 5:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 79:4; Yr 24:9; Int 2:15; 3:61, 62

Ezekiyeli 5:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nzovuna inkoni z’imikate.» Zishobora kuba zari inkoni batungirako imikate mu kuyibika.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:23
  • +Lw 26:26; Ezk 4:16

Ezekiyeli 5:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:22; Gus 32:24; Ezk 14:21; 33:27
  • +Ezk 21:3

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 5:2Yr 9:21; Ezk 4:8
Ezk. 5:2Yr 15:2
Ezk. 5:2Lw 26:33; Ezk 5:12
Ezk. 5:4Yr 4:4
Ezk. 5:6Ezk 16:46, 47
Ezk. 5:72Bm 21:9, 11; Yr 2:11
Ezk. 5:8Yr 21:5; Ezk 15:7
Ezk. 5:8Gus 29:22, 24; 1Bm 9:8; Int 2:15
Ezk. 5:9Int 4:6; Dn 9:12
Ezk. 5:10Lw 26:29; Yr 19:9; Int 4:10
Ezk. 5:10Lw 26:33; Gus 28:64
Ezk. 5:11Lw 20:3; 2Bm 21:1, 7; 2Ng 36:14; Yr 32:34
Ezk. 5:11Int 2:21; Ezk 7:4
Ezk. 5:12Yr 14:12; 15:2; 21:9
Ezk. 5:12Lw 26:33; Yr 9:16; 42:16
Ezk. 5:13Ezk 16:42
Ezk. 5:13Kv 20:3, 5; 34:14; Gus 6:15
Ezk. 5:14Gus 28:37; 1Bm 9:7; Neh 2:17
Ezk. 5:15Zb 79:4; Yr 24:9; Int 2:15; 3:61, 62
Ezk. 5:16Gus 32:23
Ezk. 5:16Lw 26:26; Ezk 4:16
Ezk. 5:17Lw 26:22; Gus 32:24; Ezk 14:21; 33:27
Ezk. 5:17Ezk 21:3
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 5:1-17

Ezekiyeli

5 Ewe mwana w’umuntu, rondera inkota ikarishe uyikoreshe nk’urumosho rwa kimyozi, wimwe umushatsi n’ubwanwa. Uheze utore umunzane kugira ubipime maze ubigabagure. 2 Ica gatatu uzogituririre mu gisagara, imisi yo kucugariza irangiye+. Uzoce utora ica gatatu kindi ugikubitishe inkota irya n’ino ya nya gisagara*+. Ica gatatu gisigaye na co ugisanzarize mu muyaga. Nzosokora inkota ndacirukeko+.

3 Uze utoreko udushatsi dukeyi utuzingire mu mpuzu* yawe. 4 Uze utore n’utundi uduterere mu muriro, uduturire dutokombere. Uwo muriro uzogenda ushike ku Bisirayeli bose+.

5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Iyi ni Yeruzalemu. Nayishize hagati mu mahanga, ikaba ikikujwe n’ibihugu. 6 Mugabo yaragararije ingingo nashinze n’ivyagezwe vyanje, ikora ivy’ububisha kuruta amahanga n’ibihugu biyikikuje+. Abantu barataye ingingo nashinze, ntibakurikiza ivyagezwe vyanje.”

7 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Kubera ko mwagoranye kuruta amahanga yose abakikuje, ntimukurikize ivyagezwe vyanje, canke ngo mwubahirize ingingo nashinze, ahubwo mugakurikiza ingingo z’amahanga abakikuje+, 8 Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye wa gisagara+. Jewe ubwanje ngira ndagushitseko urubanza amahanga arorera+. 9 Nzokorera iwawe ikintu ntari bwigere nkora, kandi nta kimeze nka co nzosubira gukora, kubera ibintu vyose bishisha ukora+.

10 Ba sebibondo rero baba iwawe bazorya abana babo+, abana na bo barye ba se. Kandi nzogushitsako urubanza, abawe bose basigaye ndabasanzarize mu mpande zose*+.’”

11 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “kubera ko wahumanije ahantu hanje heranda ukoresheje ibigirwamana vyawe vyose bisesemye be n’ibintu vyose bishisha ukora+, nanje nzoguta*. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, kandi nta mpuhwe nzogira+. 12 Ica gatatu c’abantu bawe, bazokwicwa n’ikiza*, bahonywe n’inzara. Ica gatatu kindi, bazokwicwa n’inkota+ irya n’ino yawe. Ica gatatu gisigaye, nzobasanzariza mu mpande zose*. Nzosokora inkota ndabirukeko+. 13 Ishavu ryanje rero rizoca rihera, uburake nari ndabafitiye buhwame, umutima wanje uryoherwe+. Kandi ninaheza kubasukako uburake bwanje, bazomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova navuze, kuko ndi Imana isaba ishimitse gusengwa* yonyene+.

14 Nzogutikiza, ntume ucokorwa mu mahanga agukikuje n’imbere y’abahita bose+. 15 Uzocokorwa, usuzugurwe+, ubere abandi imburi, ube n’ikintu c’akajoreza ku mahanga yose agukikuje, ninagushitsako urubanza nashavuye, naratse, nkaguhana bimwe bikaze. Jewe Yehova ndavuze.

16 Ababa iwawe nzobarungikako ya myampi yica y’inzara, ibahonye. Iyo myampi nzorungika izobamara+. Nzotuma mubura ibifungurwa*, kugira inzara ibamerere nabi+. 17 Nzobateza inzara n’ibikoko bikaze+, bibahekure. Muzorengerwa n’ikiza n’amaraso menshi azoseseka, kandi nzobateza inkota+. Jewe Yehova ndavuze.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika