Yobu
21 Yobu yishura ati:
2 «Nimwumvirize neza ivyo ngira mvuge.
Aho ni ho mwoba mumpojeje.
4 Mbega mwibaza ko ndiko nganyira umuntu?
Hamwe vyoba ari ukwo, ukwihangana nogukura hehe?
5 Nimundabe mwumirwe.
Nimwifate ku munwa.
6 Iyo ndavyiyumviriye birampagarika umutima,
umubiri wanje wose ukajugumira.
8 Bama bakikujwe n’abana babo,
bakabona n’uruvyaro rwabo.
10 Impfizi zabo zirimya zigafatisha.
Inka zabo ziravyara, ntiziramburura.
11 Uduhungu twabo turiruka hanze nk’imyagazi y’intama,
abana babo bakaguma bikina amatavu.
14 Mugabo babwira Imana y’ukuri bati: “Twirekere!
Ntidushaka kumenya inzira zawe+.
15 Mushoboravyose ni nde ngo tumukorere+?
Mbega kumumenya vyotumarira iki+?”
16 Ariko ndazi ko ukuroranirwa kwabo kutari mu minwe yabo+.
Ivyiyumviro* vy’ababisha biri kure yanje+.
17 Ni kangahe murabona itara ry’ababisha rizima+?
Ni kangahe ivyago bibazako?
Ni kangahe Imana ibarandura yashavuye?
18 Mbega barigera bamera nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga?
Barigera bamera nk’umuguruka utwawe n’igihuhusi?
19 Igihano c’umubisha Imana izokibikira abana biwe.
Ese yobimwishura ku buryo abimenya+!
23 Hari abantu bapfa bagifise inkomezi zabo zose+,
ata myitwarariko bafise, bitekaniye+,
24 amatako yabo yuzuyeko ibinure,
n’amagufa yabo agikomeye*.
25 Hakaba n’abandi bapfana agahinda,
batigeze bahonja ivyiza.
29 Mbega ntimurabaza abagira ingendo?
Ntimusuzuma neza ivyo bashitseko*?
30 Ntimwabonye ko umubisha akingirwa ku musi w’ivyago
akongera agatabarwa ku musi w’uburake?
31 Ni nde yomwereka amaso mu yandi ko inzira yiwe ari mbi?
Ni nde yomusubiriza mu nkoko ku vyo yakoze?
32 Iyo bamuhamvye mw’itongo ry’abapfuye,
imva yiwe iguma icungerewe.
34 Kubera iki none mumpa uruhoza ata co rumaze+?
Ivyo munyishura vyose ni ibinyoma gusa.»