Yesaya
27 Kuri uwo musi, Yehova azokoresha inkota yiwe ikaze, ihambaye kandi ikomeye+,
yiteho ivya Lewiyatani* ya nzoka inyerera,
Lewiyatani ya nzoka igenda iriheta.
Ntazobura kwica urwo rukoko ruri mu kiyaga.
2 Kuri uwo musi, muze muririmbire uwo mugore* muti:
«Ewe murima w’imizabibu ivamwo umuvinyu ubimba ifuro+!
Nguma ndamuvomēra+.
Ndamuzigama ijoro n’umurango
ngo ntihagire uwumugirira nabi+.
Ni nde azompangara mu rugamba yitwaje ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi?
Nzobihonyanga ndabihe umuriro vyose.
5 Nahungire nyabuna mu kibanza canje gikomeye.
Naze asubize hamwe nanje.
Nandondere dusubize hamwe.»
6 Mu misi izoza Yakobo azoshora imizi,
Isirayeli ashurike anage+,
kandi umwimbu wabo uzokwuzura igihugu+.
7 Mbega yoba akwiye gukubitwa nk’uko uwumukubita abigira?
Canke yoba akwiye kwicwa cokimwe n’abishwe biwe?
8 Igihe uzomurungika, uzonigana na we ushizeko akaruru gateye ubwoba.
Uzomwirukana ukoresheje umuyaga wawe ukaze, ku musi w’umuyaga wo mu buseruko+.
9 Ibi rero ni vyo bizotuma ikosa rya Yakobo ribabarirwa*+,
kandi ibi ni vyo vyamwa bizoboneka niyaharirwa igicumuro ciwe:
azofata amabuye yose y’igicaniro
ayavungagure nk’amabuye y’ingwa,
kandi nta nkingi nyeranda z’ibiti* canke ibicaniro baturirirako imibavu bizosigara+.
10 Kuko igisagara gikingijwe ibihome kizosigara ata wukibamwo.
Aho baragira bazohata bahahebe, hamere nk’agahinga+.
Aho ni ho inyana izorisha yongere iryame,
kandi izorya amashami yaho+.
Kuko aba bantu badategera+.
12 Kuri uwo musi Yehova azokubita ivyamwa bihunguruke, guhera ku mugezi utemba wa rwa ruzi runini* gushika ku mwonga* wa Misiri+. Muzonobagurwa umwumwe, yemwe Bisirayeli+. 13 Kuri uwo musi hazovuzwa inzamba ikomeye+. Abariko barahona mu gihugu ca Ashuri+ n’abashwiragiye mu gihugu ca Misiri+, bazoheza baze bunamire Yehova ku musozi mweranda i Yeruzalemu+.