ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Abagabo batandatu bahonya, n’uwufise agahembe k’irangi (1-11)

        • Urubanza ruhera ahantu heranda (6)

Ezekiyeli 9:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).

  • *

    Canke «akantu umwanditsi ashiramwo irangi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 20:2; Ezk 8:3
  • +2Ng 4:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu,

    6/2017, rup. 6

Ezekiyeli 9:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «w’inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:23; 8:3, 4; 11:22
  • +Ezk 10:4

Ezekiyeli 9:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 119:53; 2Pt 2:7, 8
  • +Ezk 5:11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu,

    6/2017, rup. 6

    Umunara w’Inderetsi (Integuro y’ukwiga),

    6/2016, rup. 16-17

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2008, rup. 5-6

    Senga Imana, rup. 124

    Ubumenyi, rup. 180

Ezekiyeli 9:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 32:26, 27; Ezk 7:4

Ezekiyeli 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:17
  • +Kv 12:23; Yos 2:17-19; Ivh 9:4
  • +2Bm 25:18, 21; Yr 25:29
  • +Ezk 8:11

Ezekiyeli 9:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 2:21

Ezekiyeli 9:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 18:23; Ezk 11:13

Ezekiyeli 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:14; Yes 1:4
  • +2Bm 21:16; Yr 2:34; Mt 23:30
  • +Ezk 22:29
  • +Yes 29:15; Ezk 8:12

Ezekiyeli 9:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 5:11; 7:4

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 9:2Yr 20:2; Ezk 8:3
Ezk. 9:22Ng 4:1
Ezk. 9:3Ezk 3:23; 8:3, 4; 11:22
Ezk. 9:3Ezk 10:4
Ezk. 9:4Zb 119:53; 2Pt 2:7, 8
Ezk. 9:4Ezk 5:11
Ezk. 9:5Kv 32:26, 27; Ezk 7:4
Ezk. 9:62Ng 36:17
Ezk. 9:6Kv 12:23; Yos 2:17-19; Ivh 9:4
Ezk. 9:62Bm 25:18, 21; Yr 25:29
Ezk. 9:6Ezk 8:11
Ezk. 9:7Int 2:21
Ezk. 9:8It 18:23; Ezk 11:13
Ezk. 9:92Ng 36:14; Yes 1:4
Ezk. 9:92Bm 21:16; Yr 2:34; Mt 23:30
Ezk. 9:9Ezk 22:29
Ezk. 9:9Yes 29:15; Ezk 8:12
Ezk. 9:10Ezk 5:11; 7:4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 9:1-11

Ezekiyeli

9 Nuko ahamagara n’ijwi rirenga numva ati: «Tumako abaza guhana igisagara, umwe wese aze afise mu minwe ikirwanisho ciwe co guhonya!»

2 Mbona abagabo batandatu bazananye amaja kw’irembo ryo haruguru+ riraba mu buraruko, umwe wese afise mu minwe ikirwanisho ciwe co kumenagura. Muri bo hari umugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*, afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi*. Nuko baraza bahagarara iruhande y’igicaniro c’umujumpu+.

3 Maze ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+ buva aho bwari buri hejuru y’abakerubi, buja imbere y’umuryango w’urusengero*+. Nuko atangura gusemerera abwira nya mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, umwe yari afise mu kiyunguyungu agahembe umunyamabanga ashiramwo irangi. 4 Yehova amubwira ati: «Nyuragira mu gisagara ca Yeruzalemu, ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga+ kubera ibintu vyose bishisha bikorerwa muri ico gisagara+.»

5 Abo bandi ababwira numva ati: «Nimumukurikire munyuragire mu gisagara, mwice. Ijisho ryanyu ntiryumve akagongwe canke ngo mugire impuhwe+. 6 Mwice mwongere muhonye abatama, abasore, abigeme b’isugi, abana bato n’abagore+. Mugabo umuntu wese ariko ikimenyetso ntimumwegere+. Muhere ahantu hanje heranda+.» Nuko bahera ku bashingantahe bari imbere y’urusengero+. 7 Aca ababwira kandi ati: «Nimuhumanye urusengero, ibigo muvyuzuze abishwe+. Nimugende!» Nuko baragenda batangura kwica abantu mu gisagara.

8 Barabica nsigara ndi jenyene. Maze ngwa nubamye, nca nsemerera nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye Abisirayeli bose basigaye mu gusuka uburake bwawe kuri Yeruzalemu+?»

9 Nuko ambwira ati: «Ikosa ry’Abisirayeli n’abo mu Buyuda rirakomeye cane rwose+. Igihugu cuzuye amaraso+, n’igisagara cuzuye akarenganyo+, kuko bavuga ngo: “Yehova yarahevye igihugu. Yehova ntabona+.” 10 Nayo jewe, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzozana ku gatwe kabo ingaruka z’ingeso zabo.»

11 Maze wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza, afise n’agahembe k’irangi mu kiyunguyungu, ndamubona agarutse kuvuga ingene vyagenze. Avuga ati: «Nakoze nk’uko wantegetse.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika