ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zakariya 13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zakariya: ibirimwo

      • Ibigirwamana n’abahanuzi b’ibinyoma bizokurwaho (1-6)

        • Abahanuzi b’ibinyoma bazomaramara (4-6)

      • Umwungere azokubitwa (7-9)

        • Abagize ica gatatu bazotyororwa (9)

Zakariya 13:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 36:25, 29

Zakariya 13:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:13
  • +Gus 13:5

Zakariya 13:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 13:6-9; 18:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2007, rup. 11

Zakariya 13:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 1:8; Mt 3:4

Zakariya 13:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/7/2015, rup. 15-16

Zakariya 13:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaboko.» Ni ukuvuga mu gikiriza canke mu mugongo.

  • *

    Canke «abankunda.»

Zakariya 13:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «intama.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 34:23; Mik 5:4; Yoh 10:11; Heb 13:20
  • +Yes 53:8; Dn 9:26; Ivk 3:18
  • +Mt 26:31, 55, 56; Mr 14:27, 50; Yoh 16:32

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/8/2011, rup. 13

Zakariya 13:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bapfe.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2007, rup. 11

Zakariya 13:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mal 3:2, 3
  • +Yr 30:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2007, rup. 11

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zak. 13:1Ezk 36:25, 29
Zak. 13:2Kv 23:13
Zak. 13:2Gus 13:5
Zak. 13:3Gus 13:6-9; 18:20
Zak. 13:42Bm 1:8; Mt 3:4
Zak. 13:7Ezk 34:23; Mik 5:4; Yoh 10:11; Heb 13:20
Zak. 13:7Yes 53:8; Dn 9:26; Ivk 3:18
Zak. 13:7Mt 26:31, 55, 56; Mr 14:27, 50; Yoh 16:32
Zak. 13:9Mal 3:2, 3
Zak. 13:9Yr 30:22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zakariya 13:1-9

Zakariya

13 Kuri uwo musi, umuryango* wa Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba kugira bozwe igicumuro n’ubuhumane+.

2 Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzokuraho amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa. Igihugu nzogikuramwo abahanuzi+ n’impwemu y’ubuhumane. 3 Nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye bazomubwira bati: “Ntugenda udapfuye kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.” Maze se na nyina bamuvyaye bazomusogota kubera ko yavuze ubuhanuzi+.

4 Kuri uwo musi abahanuzi bose bazomaramazwa n’ivyo beretswe igihe bazoba bariko baravuga ubuhanuzi. Ntibazokwambara impuzu y’ubwoya+ y’abahanuzi kugira bahende abantu. 5 Umwe wese muri bo azovuga ati: “Sindi umuhanuzi. Ndi umwirimizi. Hari umuntu yanguze nkiri muto.” 6 Nihagira uwumubaza ngo: “None ko ufise ibikomere hagati y’ibitugu*?” Azokwishura ati: “Nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje*.”»

 7 Yehova Nyeningabo avuze ati: «Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+,

urwanye umugenzi wanje.

Kubita umwungere+, ubusho* busabagire+.

Nzoduza ukuboko mpane abantu batoyi.»

 8 «Mu gihugu cose», ni ko Yehova avuze,

«ibice bibiri vy’abakibamwo bazorandurwa bahone*,

hasigare ica gatatu cabo.

 9 Abo bagize ica gatatu nzobacisha mu muriro.

Nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza,

ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+.

Bazokwambaza izina ryanje,

nanje ndabishure.

Nzovuga nti: “Ni abantu banje+”,

na bo bavuge bati: “Yehova ni Imana yacu.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika