ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abalewi: ibirimwo

      • Kw’ihema ryeranda ni ho ibimazi bikwiye gutangirwa (1-9)

      • Kirazira kurya amaraso (10-14)

      • Amategeko ajanye n’ibitungwa basanze vyapfuye (15, 16)

Abalewi 17:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»

Abalewi 17:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:1, 2; 7:11

Abalewi 17:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «kugira bibe akamoto karuhura kuri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:3-5; 7:29-31

Abalewi 17:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ya madayimoni ameze nk’impene.» Mu giheburayo havuga ngo «impene.»

  • *

    Canke «iyaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:17; Yos 24:14
  • +Kv 34:15; Gus 31:16

Abalewi 17:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3; Gus 12:5, 6, 13, 14

Abalewi 17:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nzoshinga igitsure.»

  • *

    Canke «nzomurandura mu bantu b’iwabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 9:4; Lw 3:17; 7:26; 19:26; 1Sm 14:33; Ivk 15:20, 29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 39

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2014, rup. 10-11

Abalewi 17:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bw’umubiri.»

  • *

    Canke «mutangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 17:14; Gus 12:23
  • +Lw 8:15; 16:18
  • +Mt 26:28; Rm 3:25; 5:9; Ef 1:7; Heb 9:22; 13:12; 1Pt 1:2; 1Yh 1:7; Ivh 1:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    “Urukundo rw’Imana,” rup. 75

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2004, rup. 15-16

    Abahurikiye hamwe, rup. 159-160

Abalewi 17:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 12:49
  • +Gus 12:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2004, rup. 15-16

    Abahurikiye hamwe, rup. 159-160

Abalewi 17:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 12:16; 15:23

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Bibiliya itwigisha iki?, rup. 139

    Ivyo Bibiliya yigisha, rup. 129

    Umunara w’Inderetsi,

    15/6/2004, rup. 15

    1/11/2000, rup. 30

Abalewi 17:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 17:10, 11

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Kwiberaho ibihe bidahera, icig. 39

Abalewi 17:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:31; Gus 14:21
  • +Lw 11:40

Abalewi 17:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 19:20

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Lew. 17:5Lw 3:1, 2; 7:11
Lew. 17:6Lw 3:3-5; 7:29-31
Lew. 17:7Gus 32:17; Yos 24:14
Lew. 17:7Kv 34:15; Gus 31:16
Lew. 17:9Lw 1:3; Gus 12:5, 6, 13, 14
Lew. 17:10It 9:4; Lw 3:17; 7:26; 19:26; 1Sm 14:33; Ivk 15:20, 29
Lew. 17:11Lw 17:14; Gus 12:23
Lew. 17:11Lw 8:15; 16:18
Lew. 17:11Mt 26:28; Rm 3:25; 5:9; Ef 1:7; Heb 9:22; 13:12; 1Pt 1:2; 1Yh 1:7; Ivh 1:5
Lew. 17:12Kv 12:49
Lew. 17:12Gus 12:23
Lew. 17:13Gus 12:16; 15:23
Lew. 17:14Lw 17:10, 11
Lew. 17:15Kv 22:31; Gus 14:21
Lew. 17:15Lw 11:40
Lew. 17:16Gh 19:20
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abalewi 17:1-16

Abalewi

17 Yehova yongera kubarira Musa ati: 2 «Bwira Aroni n’abahungu biwe hamwe n’Abisirayeli bose uti: “Ibi ni vyo Yehova ategetse:

3 ‘Umwisirayeli wese azokerera impfizi y’inka canke iy’intama canke isuguru y’impene, akayikererera mw’ikambi canke hanze y’ikambi 4 aho kuyizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo ayishikanire Yehova imbere y’ihema ryeranda rya Yehova, uwo muntu azokwagirwa n’amaraso. Azoba yasheshe amaraso, kandi ategerezwa kwicwa*. 5 Ivyo ni ukugira ngo Abisirayeli ntibabandanye gushikanira ibimazi vyabo mu gahinga, ahubwo babizanire Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro maze babihe umuherezi. Bakwiye kubishikanira Yehova nk’ibimazi vyo gusangira+. 6 Umuherezi azomijagira amaraso yavyo ku gicaniro ca Yehova kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, yongere aturire ibinure vyavyo kugira bimotere neza* Yehova+. 7 Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vya bigirwamana bimeze nk’impene*+, ivyo bakorana ubusambanyi mu kubisenga+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.’”

8 Uzobabwire uti: “Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azotangira ahandi ishikanwa riturirwa canke ikimazi 9 aho kukizana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ngo agishikanire Yehova, abwirizwa kwicwa+.

10 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri mwebwe azorya amaraso ayo ari yo yose+, emwe nzorwanya* uwo muntu kandi nzomwica*. 11 Kuko ubuzima bw’ikiremwa* buri mu maraso+, nanje nayashize ku gicaniro+ ku bwanyu kugira mubabarirwe ibicumuro*. Amaraso ni yo atuma mubabarirwa ibicumuro+ biciye ku buzima buri muri yo. 12 Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebwe arya amaraso, kandi ntihaze hagire umunyamahanga aba muri mwebwe+ arya amaraso+.’

13 Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri mwebwe niyaja guhiga agafata igikoko canke inyoni iribwa, ategerezwa gusesa amaraso yayo hasi+, ace ayafurira. 14 Amaraso ni yo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose, kuko ubuzima buri muri yo. Ni co gituma nabwiye Abisirayeli nti: ‘Ntimuze murye amaraso y’ikiremwa na kimwe, kuko amaraso ari bwo buzima bw’ikiremwa ico ari co cose. Uwuzoyarya wese abwirizwa kwicwa+.’ 15 Umuntu wese azorya igikoko asanze capfuye canke catabaguwe n’ikindi gikoko+, yaba imvukira canke umunyamahanga, akwiye kumesa impuzu ziwe, akiyoga hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba+. Aho ni ho azoba uwudahumanye. 16 Natazimesa canke ngo yiyoge, azohanirwa ikosa ryiwe+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika