Ezekiyeli
12 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, uba mu bantu b’abagarariji. Bafise amaso yo kubona mugabo ntibabona, bakagira n’amatwi yo kwumva mugabo ntibumve+, kuko ari abagarariji+. 3 Ewe mwana w’umuntu, tekera umuzigo wo kuja mu bunyagano, uheze uje mu bunyagano ku murango barorera. Uve mu nzu yawe uje mu bunyagano ahandi hantu barorera. Hari aho bobibona, naho ari abagarariji. 4 Usohore uwo muzigo wo kuja mu bunyagano watekeye, uwusohore ku murango barorera, hanyuma ku mugoroba ugende barorera, nk’umuntu ajanywe mu bunyagano+.
5 Utobore mu ruhome barorera, usohore ibintu vyawe ubicishije muri ico gitoboro+. 6 Maze ushire ibintu vyawe ku rutugu barorera, ubisohore mu mwiza. Wipfuke mu maso kugira ngo ntubone hasi, kuko ndakugize ikimenyetso ku Bisirayeli+.»
7 Nuko nkora nk’uko nyene nari ntegetswe. Nsohora ku murango umuzigo wanje, nk’umuzigo w’umuntu agiye mu bunyagano. Bugorovye na ho, ntobora mu ruhome nkoresheje amaboko. Bumaze kwira, nsohora ibintu vyanje ndabitwara ku rutugu bambona.
8 Mu gitondo Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Mwana w’umuntu, mbega Abisirayeli, ba bagarariji, ntibakubajije bati: “Ivyo ukora ni ibiki?” 10 Ubabwire uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ubu butumwa bwerekeye umukuru+ ari i Yeruzalemu n’Abisirayeli bose bari mu gisagara.’”
11 Uvuge uti: “Ndi ikimenyetso kuri mwebwe+. Kurya nagize, ni ko bazogirirwa. Bazoja mu bunyagano, bagirwe imbohe+. 12 Umukuru ari muri bo, azotwara ibintu vyiwe ku rutugu, agende mu mwiza. Azotobora mu ruzitiro atware ibintu vyiwe abicishije muri ico gitoboro+. Azokwipfuka mu maso kugira ngo ntabone hasi.” 13 Nzomutererako urusenga rwanje rw’uruhigi, rumucakire+. Nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya, mugabo ntazokibona. Azopfirayo+. 14 Kandi abari irya n’ino yiwe bose, abamufasha be n’ingabo ziwe, nzobasanzariza mu mpande zose+. Nzosokora inkota ndabirukeko+. 15 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninabashwiragiriza mu mahanga, nkabasanzariza mu bihugu. 16 Mugabo nzotuma bakeyi muri bo bakira inkota, inzara n’ikiza, kugira ngo bavuge mu mahanga bazojamwo ibintu vyose bishisha bakora. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»
17 Yehova yongera kumbwira ati: 18 «Mwana w’umuntu, uzorye ibifungurwa ujugumira, unywe n’amazi uhagaritse umutima kandi uri n’amaganya+. 19 Uzobwire ababa mu gihugu uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye ababa i Yeruzalemu mu gihugu ca Isirayeli: ‘Bazorya ibifungurwa bari n’amaganya, banywe amazi batekewe n’ubwoba bwinshi, kuko igihugu cabo cose kizosigara ari umusaka+ kubera ubukozi bw’ikibi bw’abakibamwo bose+. 20 Ibisagara bibamwo abantu bizotikizwa, n’igihugu gisigare ari agahinga+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.’”»
21 Yehova yongera kumbwira ati: 22 «Mwana w’umuntu, muri Isirayeli mufise umugani uvuga ngo: “Imisi irarengana, ntihagire icerekanywe na kimwe kiranguka+.” 23 Nubabwire rero uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma ayo majambo adasubira kuvugwa, kandi muri Isirayeli ntibazokwongera kuyavuga nk’umugani.’” Mugabo ubabwire uti: “Imisi iregereje+, kandi ikintu cose cerekanywe kizoranguka.” 24 Kuko muri Isirayeli ata bazokwongera kwerekwa ibinyoma canke kuragurira abantu babaryosharyosha*+. 25 “‘Kuko jewe Yehova nzovuga. Ivyo nzovuga vyose bizoba, ntibizosubira kwigizwa inyuma+. Mu gihe canyu+ ga yemwe bagarariji, ico nzovuga nzogishitsa’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”»
26 Yehova yongera kumbwira ati: 27 «Mwana w’umuntu, ibi ni vyo Abisirayeli* bariko baravuga: “Ivyo yerekwa bizoba haciye igihe kinini, kandi ubuhanuzi avuga bujanye na kazoza ka kure+.” 28 Babwire rero uti: “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘“Nta jambo ryanje na rimwe rizoteba. Ivyo mvuga vyose bizoba”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”»