Akajambo k’intango
BIBILIYA Nyeranda ni ijambo ryanditse ryahishuwe, ryavuye ku Mukama Segaba Yehova rigenewe abantu bose bo kuri iyi si. Ico gitabu cahumetswe kirakundwa kw’isi yose, kuko kirimwo inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana buzozana amahoro n’ubugororotsi. Isi izohinduka Iparadizo igenewe abantu bose. Bibiliya irerekana yuko Imana, biciye ku nkuka y’incungu y’Umwana wayo Yezu Kristu, yaronkeje isi igizwe n’abantu b’abacumuzi akaryo ko gukizwa urupfu ibigiranye urukundo.—Yohani 3:16.
Mu ntango, Bibiliya yanditswe mu giheburayo, mu giharameya (ururimi rufitaniye isano n’igiheburayo), no mu kigiriki. Kubera yuko muri iki gihe abantu bakeyi ubiravye ari bo bumva izo ndimi, vyarabaye nkenerwa ko Bibiliya Nyeranda ihindurwa mu ndimi za none kugira ngo ubutumwa bwayo butanga ubuzima bushikirizwe abantu bo mu mahanga yose.
Iyi Bibiliya, yashizwe mu kirundi hisunzwe integuro y’icongereza yo mu 1984 ya Bibiliya y’isi nshasha. Irimwo ibitabu 39 vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya, hamwe n’integuro y’ikirundi yaryohowe y’ibitabu 27 vy’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu yasohowe mu 2007. Abagize Komite ya Bibiliya y’isi nshasha bafashe ingingo yo guha amazina ivyo bihimba bibiri vy’Ivyanditswe Vyeranda bafatiye ku ndimi vyanditswemwo mu ntango, aho gukoresha ya mazina amenyerewe ari yo “Isezerano rya Kera” be n’ “Isezerano Risha.” Babigize gutyo kubera ko mu vy’ukuri Bibiliya ari igitabu kimwe, kandi akaba ata gihimba na kimwe cayo cataye igihe, canke covugwa ko ari ica “kera.” Ubutumwa buri muri yo burahuza kuva ku gitabu ca mbere co mu gihimba c’igiheburayo gushika ku gitabu ca nyuma co mu gihimba c’ikigiriki. Mu ntumbero yo gufasha umusomyi igihe yiga Bibiliya yose, harashizwemwo amarabiro yo mu nkingi arenga 125.000 hamwe n’ironderero ry’amajambo yo muri Bibiliya.
Kubera ko Bibiliya yerekana ibintu vyeranda Umukama Segaba w’isi n’ijuru agomba, gukuramwo canke guhisha izina ryiwe ridasanzwe, iryibonekeza neza mu gisomwa c’igiheburayo hafi incuro 7.000, kwoba ari ukumusuzugura bimwe bikomeye, emwe, igitutsi ku bukuru bwiwe no ku bubasha bwiwe. Ku bw’ivyo, umuce w’iyi Bibiliya uhambaye kuruta iyindi yose ni uko izina ry’Imana ryasubijwe aho rikwiye kuba riri mu gisomwa ca Bibiliya. Ryasubijwemwo incuro 6.973 mu Vyanditswe vy’igiheburayo n’incuro 237 mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, hakoreshejwe imero y’ikirundi yemewe na benshi, ari yo “Yehova.” Ushaka kumenya vyinshi kuri ico kintu, raba amakuru y’Inyongera yo muri iyi Bibiliya.
Abahinduye iyi Bibiliya, bano bakaba ari abantu bakunda Imana yo Sôko ry’Ivyanditswe Vyeranda, babona ko imbere y’Imana bafise ibanga ridasanzwe ryo gushikiriza ivyiyumviro vyayo n’amajambo yayo mu buryo butarimwo amakosa uko bishoboka kwose. Babona kandi ko hari ibanga bajejwe ku basomyi basesangura, abazeye ubukiriro bwabo bw’ibihe bidahera kw’Ijambo ryahumetswe ry’Imana Musumbavyose rihinduwe mu rurimi rwabo. Icipfuzo cacu kivuye ku mutima ni ic’uko umusomyi, abifashijwemwo n’iyi Bibiliya, yotora inzira ijana mu buzima budahera mw’isi nshasha y’ubugororotsi ya Mushoboravyose.—Yesaya 65:17; 2 Petero 3:13.
Abayisohoye