Itanguriro
1 Mu ntango+ Imana+ yaremye+ amajuru n’isi+.
2 Isi ntiyagira imero kandi yari igiharabuga, kandi ku buringanire bw’inyenga y’amazi+ hari umwiza. Inguvu zikora z’Imana zaguma zitembera irya n’ino+ ku buringanire bw’amazi+.
3 Maze Imana ivuga+ iti: “Nihabeho umuco.” Nuko habaho umuco+. 4 Inyuma y’ivyo Imana ibona ko umuco ari mwiza, maze Imana itandukanya umuco n’umwiza+. 5 Imana yita umuco Umurango+, mugabo umwiza iwita Ijoro+. Nuko haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi wa mbere.
6 Imana yongera kuvuga iti: “Nihabeho ikirere+ hagati y’amazi, habe n’ukwigabura hagati y’amazi n’ayandi+.” 7 Maze Imana itangura gukora ikirere no gutandukanya amazi akwiye kuba munsi y’ikirere n’amazi akwiye kuba hejuru y’ikirere+. Biraheza biba kuno. 8 Imana yita ikirere Ijuru+. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi ugira kabiri.
9 Imana yongera kuvuga iti: “Amazi yo munsi y’amajuru nakoranire ahantu hamwe, kandi haboneke isi yumutse+.” Biraheza biba kuno. 10 Imana yita nya si yumutse Isi+, mugabo ikoraniro ry’amazi iryita Ibiyaga+. Maze Imana ibona ko ari vyiza+. 11 Imana yongera kuvuga iti: “Isi nimeze ivyatsi, ibimera vyama imbuto+, ibiti vy’ivyamwa bitanga ivyamwa nk’uko amoko+ y’ivyo biti ari, imbuto y’ivyo vyamwa ikaba iri muri vyo+, bibe gutyo kw’isi.” Biraheza biba kuno. 12 Nuko isi itangura kumera ivyatsi, ibimera vyama imbuto nk’uko ubwoko bwavyo buri+, n’ibiti bitanga ivyamwa, imbuto yavyo ikaba iri muri vyo nk’uko ubwoko bwavyo buri+. Maze Imana ibona ko vyari vyiza. 13 Nuko haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi ugira gatatu.
14 Imana yongera kuvuga iti: “Nihabeho ibitangamuco mu kirere c’amajuru kugira bitandukanye umurango n’ijoro+; bizoba ibimenyetso bibe n’ivyo kwerekana ibiringo n’imisi n’imyaka+. 15 Kandi bizoba ibitangamuco mu kirere c’amajuru kugira vyakire isi+.” Biraheza biba kuno. 16 Imana ikora ibitangamuco bibiri bininibinini, igitangamuco kinini muri vyo co kuganza umurango, n’igitangamuco gitoyi co kuganza ijoro, ikora n’inyenyeri+. 17 Gutyo Imana ibishira mu kirere c’amajuru kugira vyakire isi+, 18 no kugira biganze ku murango no mw’ijoro, no kugira bitandukanye umuco n’umwiza+. Maze Imana ibona ko vyari vyiza+. 19 Nuko haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi ugira kane.
20 Imana yongera kuvuga iti: “Amazi natume hagwirirana umugwirirano w’ibifise ubuzima*+, kandi ibiremwa biguruka nibiguruke hejuru y’isi, mu kirere c’amajuru+.” 21 Imana irema ibikoko binini amahero vyo mu kiyaga+ be n’igifise ubuzima cose kigendagenda+, ivyo amazi yatumye bigwirirana nk’uko amoko yavyo ari, be n’ikiremwa c’amababa cose kiguruka nk’uko ubwoko bwaco buri+. Imana ibona ko vyari vyiza. 22 Maze Imana irabihezagira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure amazi yo mu biyaga+, kandi ibiremwa biguruka nibigwire mw’isi.” 23 Nuko haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi ugira gatanu.
24 Imana yongera kuvuga iti: “Isi+ nizane ibifise ubuzima nk’uko amoko yavyo ari: igikoko c’igitungano+, igikoko kigendagenda+ n’igikoko c’ikinyeshamba+ co kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri.” Biraheza biba kuno. 25 Imana irema* igikoko c’ikinyeshamba co kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igitungwa nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igikoko kigendagenda cose co ku butaka nk’uko ubwoko bwaco buri+. Imana ibona ko vyari vyiza.
26 Imana yongera kuvuga iti: “Tureme+ umuntu mw’ishusho yacu+, nk’uko dusa+, aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ibitungwa, n’isi yose, n’igikoko kigendagenda cose kigendagenda kw’isi+.” 27 Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema+ mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore+. 28 Vyongeye, Imana irabahezagira+, ibabwira iti: “Nimurondoke+, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe+, muganze+ amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ikinyabuzima cose kigendagenda kw’isi.”
29 Imana yongera kuvuga iti: “Ehe ndabahaye ibimera vyose vyama imbuto biri ku buringanire bw’isi yose, n’igiti cose kiriko ivyamwa vy’igiti cama imbuto+. Nibibabere ibifungurwa+. 30 Kandi igikoko c’ikinyeshamba cose, ikiremwa kiguruka cose co mu kirere be n’igifise ubuzima cose kigendagenda kw’isi, ndagihaye ibimera bitoto vyose ngo bikibere indya+.” Biraheza biba kuno.
31 Inyuma y’ivyo Imana yihweza ikintu cose yari yakoze, isanga cari ciza cane+. Nuko haba umugoroba, haba n’igitondo: uwo ni umusi ugira gatandatu.
2 Gutyo amajuru n’isi be n’ingabo zavyo zose birarangira+. 2 Ku musi ugira indwi Imana irangiza igikorwa cayo yari yakoze, maze ku musi ugira indwi itangura kuruhuka igikorwa cayo cose yari yakoze+. 3 Nuko Imana ihezagira umusi ugira indwi, iwugira mweranda, kuko kuri wo iruhutse igikorwa cayo cose co kurema yakoze, ico yari ifise intumbero yo gukora+.
4 Aka ni akahise k’amajuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Yehova Imana yakora isi n’ijuru+.
5 Kandi nta gisaka na kimwe co mu gahinga cari bwaboneke kw’isi, kandi nta bimera na bimwe vyo mw’itongo vyari bwamere, kuko Yehova Imana atari bwagwishe imvura+ kw’isi, kandi nta muntu n’umwe yariho wo kurima ubutaka. 6 Mugabo igipfungu+ caraduga kivuye kw’isi kikavomera uburinganire bwose bw’ubutaka+.
7 Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu+ w’ubutaka+ araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima+, maze nya muntu aba umuntu* muzima+. 8 Vyongeye, Yehova Imana atunganya umurima muri Edeni+, amaja mu buseruko, maze ahashira nya muntu yari yabumvye+. 9 Yehova Imana ameza ku butaka igiti cose kiryoheye ijisho kandi kibereye kuribwa, ameza n’igiti c’ubuzima+ hagati muri nya murima, be n’igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi+.
10 Hari uruzi rwava muri Edeni rukanywesha nya murima, kandi aho ni ho rwatangura kwigaburira, rukaba nk’aho rucitsemwo imitwe ine. 11 Izina ry’urwa mbere ni Pishoni; ni rumwe rukikuje intara yose ya Havila+, ahari inzahabu. 12 Kandi inzahabu yo muri iyo ntara ni nziza+. Hariyo kandi budeliyo*+ n’ibuye rya onigisi+. 13 Izina ry’uruzi rugira kabiri ni Gihoni; ni rumwe rukikuje intara yose ya Kushi. 14 Izina ry’uruzi rugira gatatu ni Hidekeli+; ni rumwe rugenda mu buseruko bwa Ashuri+. Uruzi rugira kane na rwo ni Efurate+.
15 Yehova Imana afata wa muntu, amushira muri nya murima wa Edeni+ kugira awurime no kugira awitwararike+. 16 Yehova Imana aha kandi iri tegeko nya muntu ati: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa+. 17 Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza+.”
18 Yehova Imana abandanya kuvuga ati: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye+.” 19 Yehova Imana rero abumba mu butaka igikoko cose be n’ikiremwa kiguruka cose co mu kirere, atangura kubizanira nya muntu kugira arabe uko yokwita kimwekimwe cose; kandi uko uwo muntu yita igifise ubuzima kimwekimwe cose+, ni ryo ryaba izina ryaco+. 20 Nuko nya muntu yita amazina ibitungwa vyose n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere n’igikoko co mu gahinga cose, mugabo ku muntu, ntihaboneka umufasha bikwiranye. 21 Ku bw’ivyo, Yehova Imana ateza itiro rirerire+ nya muntu, maze mu gihe yari asinziriye, akuramwo rumwe mu mbavu ziwe hanyuma yugara umubiri aho rwari. 22 Nya rubavu Yehova Imana yari yakuye muri nya muntu arukoramwo umugore, araheza amuzanira uwo muntu+.
23 Maze uwo muntu aravuga ati:
“Uyu noneho ni igufa ryo mu magufa yanje
Be n’umubiri w’umubiri wanje+.
Uyu azokwitwa Umugore,
Kubera ko mu mugabo ari ho uyu yakuwe+.”
24 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+ akifatanya* n’umugore wiwe maze bakaba umubiri umwe+. 25 Kandi bompi bari gusa+, nya muntu n’umugore wiwe, yamara ntivyabatera isoni+.
3 Inzoka+ ni yo yari igikoko ciyubara+ kuruta ibikoko vyose vyo mu gahinga Yehova Imana yari yararemye+. Ibwira rero nya mugore+ iti: “Ni ivy’ukuri yuko Imana yavuze ngo ntimuze murye ku giti na kimwe co mu murima+?” 2 Uwo mugore na we abwira iyo nzoka ati: “Ivyamwa vy’ibiti vyo mu murima turashobora kubiryako+. 3 Mugabo ku bijanye n’ukurya ku vyamwa vy’igiti kiri hagati na hagati mu murima+, Imana yavuze iti: ‘Ntimuze mukiryeko, oya, ntimuze mugikoreko, kugira ntimupfe+.’” 4 Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: “Haba namba ntimuzopfa+. 5 Kuko Imana izi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka mugaca mumera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi+.”
6 Uwo mugore rero abona ko ico giti cari kibereye kuribwa be n’uko cari ikintu co kwipfuzwa n’amaso, emwe, ico giti cari kiryoheye ijisho+. Nuko yakira ku vyamwa vyaco ararya. Inyuma y’aho, ahako n’umugabo wiwe igihe bari kumwe, na we ararya+. 7 Maze amaso yabo bompi aruguruka, batahura ko bari gusa+. Ku bw’ivyo, bashonera hamwe amababi y’umusukoni, bapfuka ubwambure bwabo*+.
8 Mu nyuma bumva ijwi rya Yehova Imana agendagenda muri nya murima, nko mu gice c’umusi aho akayaga gahuhera+, maze nya muntu n’umugore wiwe binyegeza amaso ya Yehova Imana mu biti vyo muri uwo murima+. 9 Yehova Imana aguma ahamagara nya muntu, amubwira ati: “Uri hehe+?” 10 Amaherezo avuga ati: “Numvise ijwi ryawe mu murima, mugabo natinye kuko nari gusa, nca ndinyegeza+.” 11 Na we avuga ati: “Ni nde yakubwiye ko wari gusa+? Ca giti nagutegeka kutaryako, wakiriyeko+?” 12 Nya muntu na we avuga ati: “Wa mugore wampa ngo tubane, ni we yampaye icamwa co kuri ca giti ndaheza ndarya+.” 13 Yehova Imana aca abwira nya mugore ati: “Ivyo wakoze ni ibiki?” Uwo mugore na we yishura ati: “Ya nzoka—yampenze ndaheza ndarya+.”
14 Yehova Imana abwira nya nzoka+ ati: “Ko wakoze ico kintu, ubaye ikivume mu bitungwa vyose no mu bikoko vyose vyo mu gahinga. Uzogendera ku nda yawe, kandi umukungugu ni wo uzorya imisi yose y’ubuzima bwawe+. 15 Nzoshira inyankane+ hagati yawe+ na wa mugore+ no hagati y’uruvyaro*+ rwawe n’uruvyaro+ rwiwe. Uyo*+ azogukomeretsa mu mutwe+, nawe+ uzomukomeretsa+ ku gitsintsiri+.”
16 Abwira nya mugore ati: “Nzokwongereza rwose ububabare bw’ukwibungenga kwawe+; uzovyara abana mu misonga+, kandi uzohahamira umugabo wawe, na we azokuganza+.”
17 Abwira Adamu na we ati: “Ko wumvirije ijwi ry’umugore wawe ukarya ku giti nari naguhayeko iri tegeko+ nti: ‘Ntuze ukiryeko,’ ubutaka buravumwe kubera wewe+. Uzorya ibiva muri bwo mu mubabaro imisi yose y’ubuzima bwawe+. 18 Kandi buzokumerera amahwa n’ibitovu+, kandi uzorya ibimera vyo mw’itongo. 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”
20 Inyuma y’ivyo Adamu yita umugore wiwe Eva+, kuko yobaye nyina w’abazima bose+. 21 Nuko Yehova Imana akorera Adamu n’umugore wiwe impuzu ndende z’urushato, araheza arabambika+. 22 Yehova Imana abandanya kuvuga ati: “Ehe wa muntu acitse nk’umwe muri twebwe mu kumenya iciza n’ikibi+; ubu rero, kugira ntatume ukuboko ngo atore koko icamwa no ku giti c’ubuzima+ akarya maze akabaho gushika igihe kitagira urugero*, . . .” 23 Yehova Imana aca amwirukana muri wa murima wa Edeni+ kugira ngo arime ubutaka yari yarakuwemwo+. 24 Nuko yirukana nya muntu maze ashira mu buseruko bw’uwo murima wa Edeni+ abakerubi*+ be n’icuma c’inkota caka urubeya caguma cizunguriza, ku bwo kurinda inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.
4 Adamu rero aryamana na Eva umugore wiwe, maze uno aribungenga+. Mu nyuma yibaruka Kayini+, avuga ati: “Mvyaye umuhungu mfashijwe na Yehova+.” 2 Mu nyuma yongera kwibaruka, avyara mwene wabo Abeli+.
Abeli aba umwungere w’intama+, mugabo Kayini aba umurimyi w’ubutaka+. 3 Hashize igihe kanaka, Kayini atangura kuzana ivyamwa bimwebimwe vy’ubutaka+ ngo bibe ishikanwa kuri Yehova+. 4 Mugabo Abeli, na we nyene azana ivy’uburiza+ bimwebimwe vyo mu busho bwiwe, mbere n’ibihimba vyavyo binuze+. Yehova araba ryiza Abeli n’ishikanwa ryiwe+, 5 ariko ntiyaraba ryiza namba Kayini n’ishikanwa ryiwe+. Maze Kayini ararungura n’ishavu ryinshi+, mu maso hiwe hatangura kwiraburanirwa. 6 Yehova aca abwira Kayini ati: “Ni kubera iki urunguye n’ishavu, kandi ni kubera iki mu maso hawe hiraburaniwe? 7 Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru+? Mugabo nutahindukira ngo ukore iciza, hari igicumuro kibunze ku bwinjiriro, kandi ni wewe gihahamiye+; mbega wewe uzokirusha inguvu+?”
8 Inyuma y’ivyo Kayini abwira Abeli mwene wabo ati: “Tugende mu gahinga.” Nuko bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli mwene wabo, aramwica+. 9 Mu nyuma Yehova abwira Kayini ati: “Abeli mwene wanyu ari hehe+?” Na we avuga ati: “Sindabizi. Mbaye umurinzi wa mwene wacu+?” 10 Kuri ivyo avuga ati: “Wakoze iki? Umviriza! Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira+. 11 Ubu rero uravumwe, uromowe kuri ubwo butaka+ bwasamitse akanwa kabwo ngo bwakire amaraso ya mwene wanyu yasheshwe n’ukuboko kwawe+. 12 Niwarima ubutaka, ntibuzoguha umwimbu* wabwo+. Uzocika inyererezi n’impunzi mw’isi+.” 13 Kayini na we abwira Yehova ati: “Igihano mpawe ku bw’ikosa ni kinini rwose ku buryo kigoye kwikorera. 14 Ehe uyu musi uranyirukanye koko kuri ubu butaka, kandi mu maso hawe nzohahishwa+; nzocika inyererezi+ n’impunzi kw’isi, kandi nta nkeka uwuzombona wese azonyica+.” 15 Mugabo Yehova amubwira ati: “Ku bw’ico, uwo wese azokwica Kayini azobihorwa incuro indwi+.”
Yehova ashiriraho Kayini ikimenyetso kugira ngo uwo wese amubonye ntamwice+. 16 Kayini aca aragenda ava imbere ya Yehova+, aba mu gihugu c’Ukuba Impunzi mu buseruko bwa Edeni.
17 Inyuma y’aho, Kayini aryamana n’umugore wiwe+, uno aribungenga hanyuma avyara Henoki. Maze atangura kwubaka igisagara, araheza yita ico gisagara izina ry’umuhungu wiwe Henoki+. 18 Mu nyuma Henoki avyara Iradi. Maze Iradi avyara Mehuyayeli, Mehuyayeli avyara Metushayeli, Metushayeli na we avyara Lameki.
19 Nuko Lameki yiyabirira abagore babiri. Uwa mbere yitwa Ada, uwugira kabiri na we akitwa Zila. 20 Mu nyuma Ada yibaruka Yabali. Uno ni we yatanguje ivyo kuba mu mahema+ no kworora ibitungwa+. 21 Mwene wabo yitwa Yubali. Uno ni we yatanguje ivyo kuvuza inanga+ n’umwironge+. 22 Zila na we yibaruka Tubali-kayini, umucuzi w’ubwoko bwose bw’igikoresho c’umujumpu n’ic’icuma+. Mushiki wa Tubali-kayini yari Nayama. 23 Ku bw’ivyo rero Lameki atunganiriza aya majambo abagore biwe Ada na Zila:
“Umve ijwi ryanje, yemwe bagore ba Lameki;
Tege ugutwi ijambo ryanje:
Narishe umugabo kuko yankomerekeje,
Egome, narishe umusore kuko yankubise.
25 Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe, araheza yibaruka umuhungu maze amwita Seti+, kuko, nk’uko yavuze: “Imana yangeneye urundi ruvyaro* mu kibanza ca Abeli, kuko Kayini yamwishe+.” 26 Kuri Seti na ho nyene havuka umuhungu maze amwita Enoshi+. Ico gihe hatangura ivy’ukwambaza izina rya Yehova*+.
5 Iki ni co gitabu c’akahise ka Adamu. Ku musi Imana yarema Adamu yamuremye asa n’Imana+. 2 Ibarema ari umugabo n’umugore+. Maze irabahezagira, ibita Umuntu+ ku musi baremwa+.
3 Nuko Adamu abaho imyaka ijana na mirongo itatu. Maze avyara umuhungu asa na we, afise ishusho yiwe, araheza amwita Seti+. 4 Imisi ya Adamu amaze kuvyara Seti iba imyaka amajana umunani. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa+. 5 Gutyo imisi yose Adamu yabayeho igera ku myaka amajana icenda na mirongo itatu, araheza arapfa+.
6 Seti na we abaho imyaka ijana n’itanu. Maze avyara Enoshi+. 7 Seti amaze kuvyara Enoshi, abandanya kubaho imyaka amajana umunani n’indwi. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 8 Gutyo imisi yose ya Seti igera ku myaka amajana icenda na cumi n’ibiri, araheza arapfa.
9 Enoshi na we abaho imyaka mirongo icenda. Maze avyara Kenani+. 10 Enoshi amaze kuvyara Kenani, abandanya kubaho imyaka amajana umunani na cumi n’itanu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 11 Gutyo imisi yose ya Enoshi igera ku myaka amajana icenda n’itanu, araheza arapfa.
12 Kenani na we abaho imyaka mirongo irindwi. Maze avyara Mahalaleli+. 13 Kenani amaze kuvyara Mahalaleli, abandanya kubaho imyaka amajana umunani na mirongo ine. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 14 Gutyo imisi yose ya Kenani igera ku myaka amajana icenda na cumi, araheza arapfa.
15 Mahalaleli na we abaho imyaka mirongo itandatu n’itanu. Maze avyara Yaredi+. 16 Mahalaleli amaze kuvyara Yaredi, abandanya kubaho imyaka amajana umunani na mirongo itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 17 Gutyo imisi yose ya Mahalaleli igera ku myaka amajana umunani na mirongo icenda n’itanu, araheza arapfa.
18 Yaredi na we abaho imyaka ijana na mirongo itandatu n’ibiri. Maze avyara Henoki+. 19 Yaredi amaze kuvyara Henoki, abandanya kubaho imyaka amajana umunani. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 20 Gutyo imisi yose ya Yaredi igera ku myaka amajana icenda na mirongo itandatu n’ibiri, araheza arapfa.
21 Henoki na we abaho imyaka mirongo itandatu n’itanu. Maze avyara Metusela+. 22 Henoki amaze kuvyara Metusela, abandanya kugendana n’Imana y’ukuri imyaka amajana atatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 23 Gutyo imisi yose ya Henoki igera ku myaka amajana atatu na mirongo itandatu n’itanu. 24 Kandi Henoki yaguma agendana+ n’Imana y’ukuri+. Maze ntiyaba akiboneka, kuko Imana yamutwaye+.
25 Metusela na we abaho imyaka ijana na mirongo umunani n’indwi. Maze avyara Lameki+. 26 Metusela amaze kuvyara Lameki, abandanya kubaho imyaka amajana indwi na mirongo umunani n’ibiri. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 27 Gutyo imisi yose ya Metusela igera ku myaka amajana icenda na mirongo itandatu n’icenda, araheza arapfa.
28 Lameki na we abaho imyaka ijana na mirongo umunani n’ibiri. Maze avyara umuhungu. 29 Nuko amwita Nowa+, avuga ati: “Uyu azotuzanira uruhoza mu gikorwa cacu no mu bubabare bw’amaboko yacu buterwa n’ubutaka Yehova yavumye+.” 30 Lameki amaze kuvyara Nowa, abandanya kubaho imyaka amajana atanu na mirongo icenda n’itanu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa. 31 Gutyo imisi yose ya Lameki igera ku myaka amajana indwi na mirongo irindwi n’indwi, araheza arapfa.
32 Nowa na we ashikana imyaka amajana atanu. Inyuma y’aho, Nowa avyara Shemu+, Hamu+ na Yafeti+.
6 Nuko abantu batanguye kugwira ku buringanire bw’ubutaka, bakavyara n’abakobwa+, 2 abana* b’Imana y’ukuri+ batangura rero kwitegereza+ abakobwa b’abantu, babona ko ari beza; maze biyabirira abagore, ni ukuvuga abo batoranije bose. 3 Inyuma y’ivyo Yehova avuga ati: “Impwemu yanje+ ntizoguma yihanganiye umuntu igihe kitagira urugero+, kuko ari umubiri+ gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izogera ku myaka ijana na mirongo ibiri+.”
4 Abanefilimu bari mw’isi muri iyo misi, be n’inyuma y’aho, igihe abana b’Imana y’ukuri babandanya kuryamana n’abakobwa b’abantu hanyuma bakabavyarira abahungu; ni bo ba banyenkomezi ba kera, ba bagabo ba rurangiranwa.
5 Ku bw’ivyo rero Yehova abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro+ yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose+. 6 Yehova aricuza+ kuba yararemye abantu mw’isi, biramubabaza mu mutima+. 7 Nuko Yehova avuga ati: “Ngiye kuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka abantu naremye+, kuva ku muntu gushika ku gitungwa, ku gikoko kigendagenda no ku kiremwa kiguruka co mu kirere+, kuko nicujije koko kuba narabiremye+.” 8 Mugabo Nowa agira ubutoni mu maso ya Yehova.
9 Aka ni ko kahise ka Nowa.
Nowa yari umuntu w’umugororotsi+. Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri+. 10 Mu nyuma Nowa avyara abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti+. 11 Nuko isi irononekara mu maso y’Imana y’ukuri+, kandi isi yuzura ubukazi+. 12 Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye+, kuko ikiri n’umubiri cose cari cononye inzira yaco kw’isi+.
13 Inyuma y’ivyo Imana ibwira Nowa iti: “Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje+, kuko isi yuzuye ubukazi kubera vyo; kandi ehe ngira ndabihonereze hamwe n’isi+. 14 Niwihingurire ubwato mu mbaho z’igiti c’uburembo+. Uzoca ivyumba muri nya bwato, kandi uze ubuhomekeko ikaburimbo+ imbere n’inyuma. 15 Kandi uku ni ko uzobukora: uburebure bwabwo buzoba amatambwe*+ amajana atatu; ubwaguke bwabwo buzoba amatambwe mirongo itanu; amahagarara yabwo na yo azoba amatambwe mirongo itatu. 16 Uzobukorera idirisha*, kandi uzobusozerera ku rugero rw’itambwe uja hejuru. Ubwinjiriro bw’ubwo bwato uzobushira mu rubavu rwabwo+; uzobukorera igorofa yo hasi, igorofa ya kabiri be n’igorofa ya gatatu.
17 “Nayo jewe, ehe ngira nzane umwuzure+ w’amazi kw’isi kugira uhonye munsi y’amajuru ikiri n’umubiri cose inguvu y’ubuzima+ ikoreramwo. Ikintu cose kiri mw’isi kizopfa+. 18 Kandi ngiranye nawe isezerano ryanje; uze winjirane mu bwato n’abahungu bawe n’umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe+. 19 Kandi ku kinyabuzima cose c’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri+, uzozana muri ubwo bwato bibiribibiri kugira bizigamirwe ubuzima hamwe nawe+. Bizoba ari ikigabo n’ikigore. 20 Ku biremwa biguruka nk’uko amoko yavyo ari no ku bitungwa nk’uko amoko yavyo ari+, ku bikoko bigendagenda vyose vyo ku butaka nk’uko amoko yavyo ari, bibiribibiri bizokwinjirayo bize aho uri, kugira bizigamirwe ubuzima+. 21 Nayo wewe, niwitorere ubwoko bwose bw’ibifungurwa biribwa+; uze ubikoranirize aho uri, kandi bizobabera ibifungurwa wewe n’ivyo muri kumwe+.”
22 Nuko Nowa akora yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene+.
7 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Nowa ati: “Injira mu bwato, wewe n’urugo rwawe+ rwose, kuko ari wewe nabonye ugororotse imbere yanje muri iri yaruka+. 2 Ku gikoko kidahumanye cose uze utore indwindwi, ikigabo n’ikigore caco+; ku gikoko cose gihumanye, bibiri gusa, ikigabo n’ikigore caco; 3 no ku biremwa biguruka vyo mu kirere, indwindwi, ikigabo n’ikigore+, kugira uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rugwire kw’isi yose+. 4 Kuko hasigaye imisi indwi gusa nkagwisha imvura+ kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+; kandi nzohanagura ku buringanire bw’ubutaka ikintu cose kiri n’ubuzima naremye+.” 5 Nuko Nowa akora yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse vyose.
6 Nowa yari afise imyaka amajana atandatu igihe umwuzure w’amazi waza kw’isi+. 7 Nuko Nowa arinjira mu bwato, yinjirana n’abahungu biwe n’umugore wiwe be n’abagore b’abahungu biwe, imbere y’uko amazi y’umwuzure aza+. 8 Ku gikoko kidahumanye cose no ku gikoko cose gihumanye no ku biremwa biguruka be n’ikintu cose kigendagenda ku butaka+, 9 hinjira bibiribibiri bija aho Nowa ari mu bwato, ikigabo n’ikigore, nk’uko Imana yari yategetse Nowa. 10 Nuko haciye imisi indwi, amazi y’umwuzure araza kw’isi.
11 Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi, kuri uwo musi imbizi zose z’inyenga y’amazi nini amahanga zirasaduka, n’ingomero z’amajuru ziruguruka+. 12 Imvura y’isegenya ibandanya kugwa kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+. 13 Kuri uwo musi nyene Nowa arinjira mu bwato, yinjirana na Shemu na Hamu na Yafeti abahungu biwe+, n’umugore wiwe n’abagore batatu b’abahungu biwe+; 14 bo hamwe n’igikoko c’ikinyeshamba cose nk’uko ubwoko bwaco buri+, n’igitungwa cose nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igikoko kigendagenda cose kigendagenda kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri+, be n’ikiremwa kiguruka cose nk’uko ubwoko bwaco buri+, inyoni yose, ikiremwa c’amababa cose+. 15 Biguma bija aho Nowa ari mu bwato, bibiribibiri, ku bwoko bwose bw’ikiri n’umubiri inguvu y’ubuzima yakoreramwo+. 16 Ivyinjira birinjira, ikigabo n’ikigore vy’ubwoko bwose bw’ikiri n’umubiri, nk’uko Imana yari yamutegetse. Inyuma y’ivyo Yehova yugara umuryango inyuma yiwe+.
17 Nuko umwuzure ubandanya kw’isi imisi mirongo ine, amazi aguma yongerekana, atangura guterura nya bwato, burareremba hejuru cane y’isi. 18 Amazi aba umurengera kandi aguma yongerekana rwose kw’isi, mugabo nya bwato buguma bugenda ku buringanire bw’amazi+. 19 Amazi ararengera rwose isi ku buryo imisozi miremire yose yari munsi y’amajuru yose ipfukwa+. 20 Amazi arengera iyo misozi gushika ku matambwe* cumi n’atanu, maze nya misozi irapfukwa+.
21 Nuko ikiri n’umubiri cose cagendagenda kw’isi kirapfa+, mu biremwa biguruka no mu bitungwa no mu bikoko no mu biremwa bigwirirana vyose vyagwirirana kw’isi, no mu bantu bose+. 22 Ikintu cose impemu y’inguvu y’ubuzima yakoreramwo mu mazuru, ni ukuvuga ivyari ku butaka bwumutse vyose, birapfa+. 23 Gutyo azimanganya ikintu cose kiri n’ubuzima cari ku buringanire bw’ubutaka, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko, ku gikoko kigendagenda no ku kiremwa kiguruka co mu kirere, bizimanganywa kw’isi+. Harokotse gusa Nowa n’ivyari kumwe na we mu bwato+. 24 Amazi aguma arengeye isi imisi ijana na mirongo itanu.
8 Inyuma y’ivyo Imana yibuka+ Nowa n’igikoko cose n’igitungwa cose cari kumwe na we mu bwato+, maze Imana icisha umuyaga hejuru y’isi, amazi atangura guhwama+. 2 Nuko za mbizi z’inyenga y’amazi+ na za ngomero+ z’amajuru birugarwa, gutyo imvura y’isegenya yariko igwa ivuye mu majuru irazibirwa. 3 Maze amazi atangura gusubira inyuma ava kw’isi, agenda asubira inyuma intambwe ku yindi; haheze imisi ijana na mirongo itanu amazi yari yagabanutse+. 4 Mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi, nya bwato+ buhagarara ku misozi ya Ararati+. 5 Amazi abandanya kugabanuka intambwe ku yindi gushika mu kwezi kugira cumi. Mu kwezi kugira cumi, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, amasonga y’imisozi araboneka+.
6 Haheze imisi mirongo ine, Nowa yugurura idirisha+ rya nya bwato yari yarakoze. 7 Hanyuma arungika igikona+, kibandanya kuguruka hanze, kigenda congera kigaruka, gushika amazi akamye kw’isi.
8 Mu nyuma arungika inuma+ ivuye aho ari kugira arabe nimba amazi yari yagabanutse ku buringanire bw’ubutaka. 9 Iyo numa ntiyaronkera ubworo bw’ikirenge cayo ahantu h’ukuruhukira na hamwe, iraheza rero igaruka aho ari mu bwato kuko amazi yari akiri ku buringanire bw’isi yose+. Maze atuma ukuboko arayifata, ayizana kuri we mu bwato. 10 Abandanya kurindira iyindi misi indwi, maze yongera kurungika ya numa ivuye mu bwato. 11 Mu nyuma nya numa iza kuri we, nko mu gihe c’umugoroba, kandi mu kanwa kayo hari ibabi ry’umwelayo+ rigiheza kwahwa; gutyo Nowa amenya ko amazi yari yagabanutse kw’isi+. 12 Abandanya kurindira iyindi misi indwi. Maze arungika nya numa, mugabo ntiyasubira kwongera kugaruka kuri we+.
13 Mu mwaka ugira amajana atandatu na rimwe+, mu kwezi kwa mbere, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, amazi yari yakamye kw’isi; Nowa akurako umufuniko w’ubwato, araraba, asanga uburinganire bw’ubutaka bwari bwumutse+. 14 Mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwo kwezi, isi yari yumye+.
15 Maze Imana ibwira Nowa iti: 16 “Sohoka uve mu bwato, wewe n’umugore wawe n’abahungu bawe n’abagore b’abahungu bawe kumwe nawe+. 17 Ibinyabuzima vyose biri kumwe nawe vy’ubwoko bwose bw’umubiri+, mu biremwa biguruka+ no mu bitungwa+ be no mu bikoko bigendagenda vyose bigendagenda kw’isi+, nubisohore kumwe nawe, kuko bitegerezwa kugwirirana mw’isi, bikarondoka kandi bikagwira kw’isi+.”
18 Nuko Nowa arasohoka, ari kumwe n’abahungu biwe+ n’umugore wiwe n’abagore b’abahungu biwe. 19 Ikinyabuzima cose, igikoko kigendagenda cose be n’ikiremwa kiguruka cose, ikintu cose kigendagenda kw’isi, nk’uko imiryango yavyo iri birasohoka biva mu bwato+. 20 Maze Nowa yubakira igicaniro+ Yehova araheza atora bimwebimwe mu bikoko bidahumanye vyose+ no mu biremwa biguruka bidahumanye vyose+, hanyuma ashikana kuri nya gicaniro* amashikanwa aturirwa+. 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+. 22 Kuko imisi yose isi izobandanya kubaho, ibiba ry’imbuto n’iyimbura, imbeho n’ubushuhe, ici n’urushana, umurango n’ijoro, bitazokwigera bireka kubaho+.”
9 Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe, ibabwira iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi+. 2 Kandi ikinyabuzima cose co kw’isi n’ikiremwa kiguruka cose co mu kirere, ikintu cose kigendagenda ku butaka, n’amafi yose yo mu kiyaga bizobandanya kubatinya no gucika ivutu kubera mwebwe. Ubu bishizwe mu kuboko kwanyu+. 3 Igikoko kigendagenda cose kizima kirashobora kubabera ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose+ nk’uko nabahaye ibimera bitoto. 4 Gusa, inyama zirimwo ubuzima+ bwazo, ari bwo maraso+ yazo, ntimuze muzirye+. 5 Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza mu kuboko kw’ikinyabuzima cose; kandi ubuzima bw’umuntu nzobwishuza mu kuboko kw’umuntu+, mu kuboko kw’umuntu wese ari mwene wabo. 6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe azoseswa+ n’umuntu, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo. 7 Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mutume isi igwiriranamwo mwebwe kandi mugwire muri yo+.”
8 Imana yongera kubwira Nowa n’abahungu biwe bari kumwe na we iti: 9 “Nayo jewe, ehe ngiranye isezerano ryanje+ namwe be n’uruvyaro rwanyu mu nyuma zanyu+, 10 be n’igifise ubuzima cose kiri kumwe namwe, mu biguruka, mu bitungwa no mu binyabuzima vyose vyo kw’isi biri kumwe namwe, guhera ku bisohoka biva mu bwato vyose gushika ku kinyabuzima cose co kw’isi+. 11 Egome, ngiranye namwe isezerano ryanje: Ikiri n’umubiri cose ntikizosubira gukurwaho n’amazi y’umwuzure, kandi ntihazosubira kuba umwuzure wo guhonya isi+.”
12 Nuko Imana yongerako iti: “Iki ni co kimenyetso+ c’isezerano nshize hagati yanje namwe n’igifise ubuzima cose kiri kumwe namwe, mu mayaruka yose gushika igihe kitagira urugero. 13 Nshize koko umunywamazi+ wanje mu gicu, kandi uzoba ikimenyetso c’isezerano hagati yanje n’isi. 14 Kandi uku ni ko bizoba: ninazana igicu hejuru y’isi, umunywamazi uzoboneka mu gicu ata kabuza. 15 Nanje nzokwibuka koko isezerano ryanje+ riri hagati yanje namwe be n’igifise ubuzima cose mu biri n’umubiri vyose+; kandi amazi ntazosubira gucika umwuzure wo guhonya ibiri n’umubiri vyose+. 16 Nya munywamazi uzoboneka mu gicu+, nanje nzowubona koko maze nibuke nya sezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+ hagati y’Imana n’igifise ubuzima cose mu biri n’umubiri vyose biri kw’isi+.”
17 Nuko Imana isubiriramwo Nowa iti: “Iki ni co kimenyetso c’isezerano nshinze hagati yanje n’ikiri n’umubiri cose kiri kw’isi+.”
18 Kandi abahungu ba Nowa+ basohotse bava mu bwato bari Shemu na Hamu na Yafeti. Mu nyuma Hamu avyara Kanani+. 19 Abo batatu bari abahungu ba Nowa, kandi abantu bose bo kw’isi bakwiragiye bavuye kuri abo+.
20 Nowa rero atangura kuba umurimyi+, aherako atera umurima w’imizabibu+. 21 Atangura kunywa umuvinyu maze araborerwa+, gutyo yikurako agahuzu hagati mw’ihema ryiwe. 22 Mu nyuma Hamu+ se wa Kanani abona ubwambure+ bwa se, aca aja hanze kubibwira bene wabo babiri+. 23 Shemu na Yafeti baca bafata umutamana+ bawushira ku bitugu vyabo vyompi, binjira bagenza imigongo. Gutyo bapfuka ubwambure bwa se mu maso habo haraba irya, ntibabona ubwambure bwa se+.
24 Amaherezo Nowa arikangura umuvinyu umuvuyeko, arahava amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi yari yamukoreye. 25 Kuri ivyo avuga ati:
“Kanani arakavumwa+.
Nabe uwa nyuma mu bashumba ba bene wabo+.”
27 Imana nihe Yafeti ikibanza cagutse rwose,
Kandi niyibere mu mahema ya Shemu+.
Kanani na we nyene nacike umushumba wiwe.”
28 Nowa abandanya kubaho imyaka amajana atatu na mirongo itanu inyuma y’umwuzure+. 29 Imisi yose ya Nowa rero yabaye imyaka amajana icenda na mirongo itanu, araheza arapfa+.
10 Aka ni ko kahise ka bene Nowa+, ari bo Shemu, Hamu na Yafeti.
Nuko inyuma y’umwuzure batangura kuvyara abana+. 2 Bene Yafeti bari Gomeri+ na Magogi+ na Madayi+ na Yavani+ na Tubali+ na Mesheki+ na Tirasi+.
3 Bene Gomeri na bo bari Ashikenazi+ na Rifati+ na Togaruma+.
4 Bene Yavani na bo bari Elisha+ na Tarushishi+, Kitimu+ na Dodanimu+.
5 Abantu bo mu mazinga yegukira amahanga bakwiragiye mu bihugu vyabo bavuye kuri abo, bamwebamwe bose nk’uko ururimi rwabo rwari, nk’uko imiryango yabo yari, hakurikijwe amahanga yabo.
6 Bene Hamu bari Kushi+ na Mizirayimu+ na Puti+ na Kanani+.
7 Bene Kushi na bo bari Seba+ na Havila na Sabuta na Rayama+ na Sabuteka.
Bene Rayama na bo bari Sheba na Dedani+.
8 Nuko Kushi avyara Nimurodi+. Uno ni we yatanguye kuba umunyenkomezi mw’isi. 9 Yabaye umuhigi w’umunyenkomezi arwanya Yehova. Ni co gituma hari abavuga bati: “Nka Nimurodi, umuhigi w’umunyenkomezi arwanya Yehova+.” 10 Kandi intango y’ubwami bwiwe yabaye Babeli+ na Ereki+ na Akadi na Kalune, mu gihugu ca Shinari+. 11 Avuye muri ico gihugu, aja muri Ashuri+ maze atangura kwubaka Ninewe+ na Rehoboti-Iri na Kala 12 na Reseni, hagati ya Ninewe na Kala: ico ni co ca gisagara* gihambaye.
13 Mizirayimu+ yavyaye Ludimu+ na Anamimu na Lehabimu na Nafituhimu+ 14 na Patirusimu+ na Kasiluhimu+ (ari bo Abafilisitiya+ bakomotseko) na Kafutorimu+.
15 Kanani na we yavyaye Sidoni+ imfura yiwe na Heti+ 16 n’Umuyebusi+ n’Umwamori+ n’Umugirugashi 17 n’Umuhiwi+ n’Umwariki n’Umusini 18 n’Umwaruvadi+ n’Umuzemari n’Umuhamati+; mu nyuma imiryango y’Umunyakanani irasanzara. 19 Urubibe rw’Umunyakanani rwahera rero i Sidoni rugashika i Gerari+, hafi ya Gaza+, rugashika i Sodomu n’i Gomora+ n’i Adima+ n’i Zeboyimu+, hafi ya Lasha. 20 Abo ni bo bari bene Hamu hisunzwe imiryango yabo, hisunzwe indimi zabo, mu bihugu vyabo, hakurikijwe amahanga yabo.
21 Havuka uruvyaro no kuri Shemu, sekuruza wa bene Eberi+ bose, mwene wabo na Yafeti umukuru wa bose. 22 Bene Shemu bari Elamu+ na Ashuru+ na Arupakishadi+ na Ludi na Aramu.
23 Bene Aramu na bo bari Uzu na Huli na Geteri na Mashi+.
24 Arupakishadi na we avyara Shela+, Shela na we avyara Eberi.
25 Eberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Pelegi*+, kuko mu misi yiwe ari ho isi yagabuwe+; mwene wabo na we yitwa Yokitani+.
26 Yokitani yavyaye Alumodadi na Shelefu na Hazarumaveti na Yera+ 27 na Hadoramu na Uzali na Dikila+ 28 na Obali na Abimayeli na Sheba+ 29 na Ofiri+ na Havila+ na Yobabu+; abo bose bari bene Yokitani.
30 Ikibanza babamwo cava i Mesha kigashika i Sefari, akarere k’imisozi ko mu Buseruko.
31 Abo ni bo bari bene Shemu nk’uko imiryango yabo yari, nk’uko indimi zabo zari, mu bihugu vyabo, nk’uko amahanga yabo yari+.
32 Iyo ni yo yari imiryango ya bene Nowa hisunzwe imiryango bakomokamwo, hakurikijwe amahanga yabo, kandi amahanga yakwiragiye mw’isi inyuma y’umwuzure avuye kuri abo+.
11 Ico gihe isi yose yari ifise ururimi rumwe n’amajambo amwe. 2 Nuko mu gihe bariko bagenda berekeza mu buseruko, amaherezo bubura ikiyaya c’umubande mu gihugu ca Shinari+, baraheza baba ng’aho. 3 Maze batangura kubwirana bati: “Ingo tubumbe amatafari hanyuma tuyaturire mu kuyacisha mu muriro.” Nuko itafari ribabera ibuye, mugabo ikaburimbo ibabera ubudongo+. 4 Baravuga bati: “Ingo twiyubakire igisagara be n’umunara w’isonga rishika mu majuru+, twiheshe izina rurangiranwa+, kugira ntiduhave dusanzara ku buringanire bwose bw’isi+.”
5 Nuko Yehova amanuka kuraba ico gisagara n’uwo munara abana b’abantu bari bubatse+. 6 Inyuma y’ivyo Yehova aravuga ati: “Ehe bagize igisata c’abantu kimwe, kandi bose bavuga ururimi rumwe+, none ibi ni vyo batanguye gukora. Erega, ubu nta kintu na kimwe bokwiyumvira gukora batazoshobora gushikako+. 7 Ingo tumanuke+ maze tuvurunganye+ ururimi rwabo hariya kugira ntibumvikane mu rurimi+.” 8 Nuko rero Yehova abasanzaza ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho+, maze buhorobuhoro bagenda baraheba ivyo kwubaka nya gisagara+. 9 Ni co gituma ciswe Babeli*+, kuko aho ari ho Yehova yari yavurunganirije ururimi rw’isi yose, kandi Yehova akaba yari yabasanzaje+ ku buringanire bwose bw’isi abakuye ng’aho.
10 Aka ni ko kahise ka Shemu+.
Shemu yari afise imyaka ijana igihe yavyara Arupakishadi+, hashize imyaka ibiri umwuzure ubaye. 11 Shemu amaze kuvyara Arupakishadi, abandanya kubaho imyaka amajana atanu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa+.
12 Arupakishadi na we abaho imyaka mirongo itatu n’itanu. Maze avyara Shela+. 13 Arupakishadi amaze kuvyara Shela, abandanya kubaho imyaka amajana ane n’itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
14 Shela na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Eberi+. 15 Shela amaze kuvyara Eberi, abandanya kubaho imyaka amajana ane n’itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
16 Eberi na we abaho imyaka mirongo itatu n’ine. Maze avyara Pelegi+. 17 Eberi amaze kuvyara Pelegi, abandanya kubaho imyaka amajana ane na mirongo itatu. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
18 Pelegi na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Reyu+. 19 Pelegi amaze kuvyara Reyu, abandanya kubaho imyaka amajana abiri n’icenda. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
20 Reyu na we abaho imyaka mirongo itatu n’ibiri. Maze avyara Serugi+. 21 Reyu amaze kuvyara Serugi, abandanya kubaho imyaka amajana abiri n’indwi. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
22 Serugi na we abaho imyaka mirongo itatu. Maze avyara Nahori+. 23 Serugi amaze kuvyara Nahori, abandanya kubaho imyaka amajana abiri. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
24 Nahori na we abaho imyaka mirongo ibiri n’icenda. Maze avyara Tera+. 25 Nahori amaze kuvyara Tera, abandanya kubaho imyaka ijana na cumi n’icenda. Muri ico gihe avyara abahungu n’abakobwa.
26 Tera na we abaho imyaka mirongo irindwi, inyuma y’aho avyara Aburamu+, Nahori+ na Harani.
27 Kandi aka ni ko kahise ka Tera.
Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani; Harani na we avyara Loti+. 28 Mu nyuma Harani apfira mu gihugu c’amavukiro ari kumwe na Tera se wiwe, i Uri+ h’Abakaludaya+. 29 Aburamu na Nahori babira abagore. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi+, umugore wa Nahori na we Milika+, umukobwa wa Harani se wa Milika akaba na se wa Isika. 30 Ariko Sarayi yari ingumba+, nta mwana yari afise.
31 Inyuma y’ivyo Tera afata Aburamu umuhungu wiwe na Loti umuhungu wa Harani, umwuzukuru wiwe+, na Sarayi+ umukazana wiwe, umugore wa Aburamu umuhungu wiwe, baraheza bajana na we bavuye i Uri h’Abakaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani+. Mu nyuma bashika i Harani+ maze babayo. 32 Nuko Imisi ya Tera iba imyaka amajana abiri n’itanu. Tera araheza apfira i Harani.
12 Nuko Yehova abwira Aburamu ati: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka+; 2 nzogukuramwo ihanga rikomeye, kandi nzoguhezagira, kandi izina ryawe nzorigira irihambaye; nuko nube umuhezagiro+. 3 Nzohezagira abaguhezagira, uwuguhamagarirako akabi nzomuvuma+, kandi imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe+.”
4 Aburamu aca aragenda nk’uko Yehova yari yamubwiye, na Loti ajana na we. Aburamu yari afise imyaka mirongo irindwi n’itanu igihe yava i Harani+. 5 Gutyo Aburamu afata Sarayi umugore wiwe+, na Loti umuhungu wa mwene wabo+, n’ibintu vyose bari bararundanije+, be n’abantu bari bararonse i Harani, bavayo bafata inzira kugira baje mu gihugu ca Kanani+. Amaherezo bashika mu gihugu ca Kanani. 6 Nuko Aburamu aca muri ico gihugu gushika mu karere ka Shekemu+, hafi y’ibiti binini vya More+. Ico gihe Umunyakanani yari muri ico gihugu. 7 Yehova abonekera Aburamu maze avuga ati: “Uruvyaro* rwawe+ ngiye kuruha iki gihugu+.” Inyuma y’ivyo ahubakira igicaniro Yehova, uwari yamubonekeye. 8 Mu nyuma ava ng’aho aja mu karere k’imisozi mu buseruko bwa Beteli+ maze ashinga ihema ryiwe ku buryo Beteli haherera mu burengero, Ayi+ na ho mu buseruko. Maze yubakira igicaniro Yehova+ ng’aho araheza atangura kwambaza izina rya Yehova+. 9 Mu nyuma Aburamu asambura ikambi, agenda arakambika asubira, yerekeza i Negebu+.
10 Nuko ikigoyi kiraduka mu gihugu maze Aburamu amanuka yerekeza mu Misiri kugira abeyo ari kavamahanga+, kuko ikigoyi cari gikaze mu gihugu+. 11 Acegereza kwinjira mu Misiri, abwira rero Sarayi umugore wiwe ati: “Ehe rero ndakwinginze! Ndazi neza yuko uri umugore asa neza+. 12 Ntibizobura rero gushika yuko Abanyamisiri bazokubona, bakavuga bati: ‘Uyu ni umugore wiwe.’ Kandi ntibazobura kunyica, mugabo wewe bakuzigamire ubuzima. 13 Ndakwinginze uvuge ko uri mushikanje+, kugira bingendere neza kubera wewe, kandi sinzobura kubaho ndabikesheje wewe+.”
14 Aburamu akimara kwinjira mu Misiri, Abanyamisiri babona nya mugore, yuko yari mwiza cane. 15 Abaganwa ba Farawo na bo nyene baramubona maze batangura kumushemagiza kuri Farawo, ku buryo nya mugore ajanwa ku nzu ya Farawo. 16 Uno afata neza Aburamu kubera uwo mugore, maze arahava agira intama n’inka n’indogobwa n’abasuku n’abasukukazi n’indogobwa z’ingore be n’ingamiya+. 17 Maze Yehova ateza Farawo n’urugo rwiwe ivyago bikomeye+ kubera Sarayi, umugore wa Aburamu+. 18 Nuko Farawo ahamagara Aburamu maze avuga ati: “Ibi wankoreye ni ibiki? Kubera iki utambwiye ko ari umugore wawe+? 19 Kubera iki wavuze ngo: ‘Ni mushikanje+,’ ku buryo nagira ndamwabire ngo abe umugore wanje? Ng’uyu rero umugore wawe. Mutore ugende!” 20 Nuko Farawo aha amategeko abantu ku vyerekeye uwo mugabo, maze baramuherekeza we n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose+.
13 Inyuma y’ivyo Aburamu araduga avuye mu Misiri, we n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose, na Loti ari kumwe na we, aja i Negebu+. 2 Kandi Aburamu yari afise amasho n’ifeza n’inzahabu vyinshi cane+. 3 Nuko agenda arakambika asubira, kuva i Negebu gushika i Beteli, ha hantu ihema ryiwe ryari riri ubwa mbere hagati ya Beteli na Ayi+, 4 ha hantu hari ca gicaniro yari yarakoreye ng’aho mu ntango+; maze Aburamu atangura kuhambariza izina rya Yehova+.
5 Kandi Loti, uwariko ajana na Aburamu, na we nyene yari afise intama n’inka n’amahema. 6 Nuko igihugu nticabakundira kubana, kuko ibintu vyabo vyari vyarabaye vyinshi, bakaba batari bashoboye kubana+. 7 Nuko havyuka imitongano hagati y’abungere b’ibitungwa vya Aburamu n’abungere b’ibitungwa vya Loti; kandi ico gihe Umunyakanani n’Umuperizi baba muri ico gihugu+. 8 Ku bw’ivyo Aburamu abwira Loti+ ati: “Ndakwinginze, ntureke ngo hagire ugutongana kubandanya hagati yanje nawe no hagati y’abungere banje n’abungere bawe, kuko turi abavukanyi+. 9 None igihugu cose ntikiri imbere yawe? Ndakwinginze, utandukane nanje. Niwaja ibubamfu, nzoja rero iburyo; nayo niwaja iburyo, nzoheza nje ibubamfu+.” 10 Nuko Loti yunamura amaso maze abona Intara ya Yorodani+ yose gushika i Zowari+, yuko yose yari akarere kavomerewe neza (aho hakaba hari imbere y’uko Yehova ahonya Sodomu na Gomora), nka wa murima wa Yehova+, nk’igihugu ca Misiri. 11 Loti yihitiramwo rero Intara ya Yorodani yose, maze yimurira ikambi yiwe mu buseruko. Nuko baratandukana. 12 Aburamu aba mu gihugu ca Kanani, mugabo Loti aba mu bisagara vy’iyo Ntara+. Amaherezo ashinga ihema hafi ya Sodomu. 13 Abantu b’i Sodomu bari babi bakaba n’abacumuzi katwa kuri Yehova+.
14 Nuko Yehova abwira Aburamu inyuma y’aho Loti atandukaniye na we, ati: “Ndakwinginze uraramure amaso, maze uri aho hantu uri, urabe amaja mu buraruko n’amaja mu bumanuko n’amaja mu buseruko n’amaja mu burengero+, 15 kuko igihugu cose uriko uraraba, nzogiha wewe n’uruvyaro* rwawe gushika igihe kitagira urugero+. 16 Kandi uruvyaro rwawe nzorugira nk’udutete tw’umukungugu w’isi, ku buryo, nimba umuntu yoshobora guharūra udutete tw’umukungugu w’isi, uruvyaro rwawe rero rwoshobora guharurwa+. 17 Haguruka, ugendagende muri ico gihugu mu burebure bwaco no mu bwaguke bwaco, kuko ari wewe ngiye kugiha+.” 18 Nuko Aburamu abandanya kuba mu mahema. Mu nyuma araza aba mu biti binini vya Mamure+ biri i Heburoni+; atangura kuhubakira igicaniro Yehova+.
14 Nuko mu misi ya Amurafeli umwami wa Shinari+, Ariyoki umwami wa Elasari, Kedorilawomeri+ umwami wa Elamu+, na Tidali umwami wa Goyimu+, 2 bano barwana na Bera umwami wa Sodomu+, na Birisha umwami wa Gomora+, na Shinabu umwami wa Adima+, na Shemeberi umwami wa Zeboyimu+, be n’umwami wa Bela (ni ukuvuga wa Zowari+). 3 Abo bose bagenda bagize urunani+ mu Kiyaya co Hasi ca Sidimu+, ni ukuvuga ikiyaga c’Umunyu+.
4 Bari barakoreye Kedorilawomeri imyaka cumi n’ibiri, mugabo umwaka ugira cumi na gatatu baragarariza. 5 Maze mu mwaka ugira cumi na kane Kedorilawomeri araza, be n’abami bari kumwe na we, batsinda Abarefayimu i Ashiteroti-karunayimu+, n’Abazuzimu i Hamu, n’Abemimu+ i Shave-kiriyatayimu, 6 n’Abahori+ ku musozi wabo wa Seyiri+, gushika i Eli-parani+, ahahereranye n’agahinga. 7 Maze barahindukira, baza i Eni-mishipati, ni ukuvuga Kadeshi+, batsinda akarere kose k’Abamaleki+ be n’Abamori+ baba i Hazazoni-tamari+.
8 Ico gihe umwami wa Sodomu aragenda, be n’umwami wa Gomora n’umwami wa Adima n’umwami wa Zeboyimu n’umwami wa Bela (ni ukuvuga wa Zowari), batonda urugamba ngo barwane na bo mu Kiyaya co Hasi ca Sidimu+, 9 ngo barwane na Kedorilawomeri umwami wa Elamu, na Tidali umwami wa Goyimu, na Amurafeli umwami wa Shinari, na Ariyoki umwami wa Elasari+; abami bane kuri batanu. 10 Kandi nya Kiyaya co Hasi ca Sidimu+ cari cuzuyemwo ivyobo vy’ikaburimbo+; maze abami ba Sodomu na Gomora+ barahunga hanyuma babigwamwo, abasigaye bahungira mu karere k’imisozi+. 11 Nuko bene gutsinda bafata ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora n’ibifungurwa vyaho vyose, barigira+. 12 Bafata na Loti umuhungu wa mwene wabo na Aburamu n’ibintu vyiwe, hanyuma babandanya urugendo. Ico gihe yaba i Sodomu+.
13 Inyuma y’ivyo, umuntu yari yahunze araza abibwira Aburamu Umuheburayo+. Ico gihe yari ashinze ikambi mu biti binini vya Mamure Umwamori+, mwene wabo na Eshikoli akaba na mwene wabo na Aneri+; bano bari bifatanije na Aburamu. 14 Gutyo Aburamu yumva ko incuti yiwe yari yagizwe imbohe+. Araheza akoranya abantu biwe bamenyerejwe+, abashumba amajana atatu na cumi n’umunani bavukiye mu rugo rwiwe+, maze akurikira bene gutera, gushika i Dani+. 15 Nuko mw’ijoro agabura ingabo ziwe+, we n’abashumba biwe, ngo babarwanye, arabatsinda kandi aguma abakurikira gushika i Hoba, ahari mu buraruko bwa Damasiko. 16 Hanyuma agarura ibintu vyose+, agarura na Loti incuti yiwe n’ibintu vyiwe be n’abagore hamwe n’abandi bantu+.
17 Amaze kugaruka avuye gutsinda Kedorilawomeri n’abami bari kumwe na we, umwami wa Sodomu asohoka rero kumusanganira mu Kiyaya co Hasi ca Shave, ni ukuvuga Ikiyaya co Hasi c’umwami+. 18 Nuko Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ azana umukate n’umuvinyu+; uno yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+. 19 Maze aramuhezagira, avuga ati:
“Hahezagirwe Aburamu w’Imana Musumbavyose+,
Iyashizeho ijuru n’isi+;
20 Kandi hahezagirwe Imana Musumbavyose+,
Yatanze mu kuboko kwawe abaguhahaza+!”
Aburamu aca amuha ic’icumi c’ikintu cose+.
21 Inyuma y’ivyo umwami wa Sodomu abwira Aburamu ati: “Mpa abantu+, mugabo witwarire ibintu.” 22 Aburamu na we abwira umwami wa Sodomu ati: “Ndugije ukuboko kwanje ndahira+ Yehova Imana Musumbavyose, Uwashizeho ijuru n’isi, 23 yuko, kuva ku runyuzi gushika ku mugozi w’inkweto*, ata na kimwe nzotora mu vyawe vyose+, kugira ntuvuge ngo: ‘Ni jewe natungishije Aburamu.’ 24 Nta na kimwe nshaka+! Kiretse gusa ivyo abasore bamaze kurya, be n’umuturi w’abagabo bajanye nanje, ari bo Aneri, Eshikoli na Mamure+—nibatore umuturi wabo+.”
15 Inyuma y’ivyo bintu, ijambo rya Yehova riza kuri Aburamu mw’iyerekwa+, rivuga riti: “Ntutinye+ Aburamu. Ndi inkinzo kuri wewe+. Impembo yawe izoba nini cane+.” 2 Aburamu na we avuga ati: “Mukama Segaba Yehova, uzompa iki, ko ndiko ndagenda ata kana nsize, uwuzokwegukira inzu yanje akaba ari Eliyezeri+ umuntu w’i Damasiko?” 3 Aburamu yongerako ati: “Ehe nta ruvyaro*+ wampaye, kandi ehe umuhungu+ wo mu rugo rwanje ni we agira ansubirire, abe samuragwa.” 4 Mugabo ijambo rya Yehova riza kuri we muri aya majambo ngo: “Uwo muntu ntazogusubirira nka we samuragwa, mugabo uwuzova muri wewe ni we azogusubirira nka we samuragwa+.”
5 Amusohora hanze rero, avuga ati: “Ndakwinginze urangamize mu kirere uharure inyenyeri, nimba kumbure ushoboye kuziharura+.” Hanyuma amubwira ati: “Ukwo ni ko uruvyaro rwawe ruzongana+.” 6 Nuko yizera Yehova+; uno na we abimuharurako nk’ubugororotsi+. 7 Yongera kumubwira ati: “Ndi Yehova, uwagukuye i Uri h’Abakaludaya kugira aguhe iki gihugu ngo ucigabire+.” 8 Kuri ivyo avuga ati: “Mukama Segaba Yehova, nzomenyeshwa n’iki ko nzocigabira+?” 9 Na we amubwira ati: “Ntorera ishashi y’inka imaze imyaka itatu n’impene ivyara imaze imyaka itatu n’impfizi y’intama imaze imyaka itatu n’intunguru be n’inuma ikiri nto+.” 10 Yironsa rero ivyo vyose araheza abihimburamwo kubirikubiri maze igihimba kimwekimwe cose agitumberanya na kigenzi caco, mugabo inyoni ntiyazicamwo ibipande+. 11 Maze inyoni zihiga zitangura kumanuka kuri nya mivyimba+, mugabo Aburamu akaguma azirukana.
12 Haciye akanya, izuba ryagira rirenge, maze itiro rirerire riza kuri Aburamu+, maze umwiza ukomeye w’agacavutu umuzako. 13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+. 14 Mugabo ihanga bazokorera nzoricira urubanza+, kandi inyuma y’ivyo bazosohoka bafise ibintu vyinshi+. 15 Nayo wewe, uzohamvya ba sogokuruza bawe mu mahoro; uzohambwa wisaziye neza+. 16 Mugabo mw’iyaruka rigira kane bazogaruka ng’aha+, kuko ikosa ry’Abamori ritaruzura+.”
17 Izuba ririko rirarenga, haza umwiza w’umuzitanya, maze haboneka itanure rifumba umwotsi, n’ikimuri caka umuriro gica hagati ya nya bipande+. 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+: 19 Abakeni+ n’Abakenizi n’Abakadumoni 20 n’Abaheti+ n’Abaperizi+ n’Abarefayimu+ 21 n’Abamori n’Abanyakanani n’Abagirugashi n’Abayebusi+.”
16 Kandi Sarayi, umugore wa Aburamu, ntiyari yaramuvyariye abana+; mugabo yari afise umusukukazi w’Umunyamisirikazi yitwa Hagari+. 2 Ku bw’ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ehe rero ndakwinginze! Yehova ntiyankundiye ko mvyara abana+. Ndakwinginze, uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho nomuronkako abana+.” Nuko Aburamu yumviriza ijwi rya Sarayi+. 3 Sarayi umugore wa Aburamu, afata rero Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisirikazi, haheze imyaka cumi Aburamu aba mu gihugu ca Kanani, amuha Aburamu umugabo wiwe ngo abe umugore wiwe+. 4 Nuko rero aryamana na Hagari, uno aribungenga. Amenye ko yibungenze, inabuja atangura gusuzugurika mu maso yiwe+.
5 Kuri ivyo Sarayi abwira Aburamu ati: “Ikibi ngirirwa kibe kuri wewe. Ni jewe ubwanje nashize umusukukazi wanje ku gikiriza cawe, none yamenye ko yibungenze, nca ntangura gusuzugurika mu maso yiwe. Yehova nace urubanza hagati yanje nawe+.” 6 Nuko Aburamu abwira Sarayi+ ati: “Ehe umusukukazi wawe ari mu minwe yawe. Mugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+.” Maze Sarayi atangura kumutetereza ku buryo amuhunga+.
7 Mu nyuma umumarayika wa Yehova+ amusanga kw’isôko ry’amazi mu gahinga, kw’isôko ryo ku nzira ija i Shuri+. 8 Maze avuga ati: “Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?” Na we avuga ati: “Erega, ndiko mpunga Sarayi mabuja.” 9 Umumarayika wa Yehova abandanya kumubwira ati: “Subira kwa nyokobuja, wicishe bugufi munsi y’ukuboko kwiwe+.” 10 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe+, ku buryo rutazoharurwa kubera ubwinshi+.” 11 Umumarayika wa Yehova yongera kumubwira ati: “Ehe uribungenze; uzokwibaruka umuhungu kandi uze umwite Ishimayeli+; kuko Yehova yumvise amarushwa yawe+. 12 Nayo we, azocika uwumeze nk’imparage. Ukuboko kwiwe kuzorwanya bose, na we arwanywe n’ukuboko kwa bose+; azoshinga ihema imbere ya bene wabo bose+.”
13 Nuko atangura kwambaza izina rya Yehova, uwariko avugana na we, ati: “Uri Imana ibona*+,” kuko yavuze ati: “Mbega ng’aha naravye vy’ukuri uwumbona?” 14 Ni co gituma nya riba ryiswe Beyeri-lahayi-royi*+. Ehe riri hagati ya Kadeshi na Beredi. 15 Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu, uwo muhungu wiwe yari avyariwe na Hagari amwita Ishimayeli+. 16 Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu igihe Hagari yamuvyarira Ishimayeli.
17 Aburamu ashikanye imyaka mirongo icenda n’icenda, Yehova aramubonekera maze amubwira+ ati: “Ndi Imana Mushoboravyose+. Gendera imbere yanje kandi werekane ko utagira amahinyu+. 2 Nanje nzoshira isezerano ryanje hagati yanje nawe+, kugira nkugwize cane rwose+.”
3 Aburamu aca agwa yubamye+, maze Imana ibandanya kuvugana na we, iti: 4 “Nayo jewe, ehe isezerano ryanje riri kumwe nawe+, kandi nta nkeka uzoba se w’amahanga menshi+. 5 Kandi ntuciswe Aburamu; izina ryawe rizoba Aburahamu, kuko nzokugira se w’isinzi ry’amahanga. 6 Nzotuma urondoka cane, cane rwose, nongere ntume amahanga agukomokako, kandi abami bazokwamuka kuri wewe+.
7 “Nzoshitsa isezerano ryanje riri hagati yanje nawe+ be n’uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe nk’uko amayaruka yabo ari, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+, kugira nerekane ko ndi Imana kuri wewe no ku ruvyaro rwawe mu nyuma zawe+. 8 Nzoguha mwe n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe igihugu wabayemwo uri kavamahanga+, egome igihugu cose ca Kanani, ngo kikubere itongo wigabira gushika igihe kitagira urugero; kandi nzokwerekana ko ndi Imana kuri bo+.”
9 Imana yongera kubwira Aburahamu iti: “Nayo wewe, uze ugumye isezerano ryanje, mwe n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe nk’uko amayaruka yabo ari+. 10 Iri ni ryo sezerano ryanje muzogumya, hagati yanje namwe, mbere n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe+: Uw’igitsina-gabo wese wo muri mwebwe abwirizwa kugenyerwa+. 11 Mubwirizwa kugenyerwa udushato* tw’imibiri yanyu, kandi ivyo bizoba ikimenyetso c’isezerano hagati yanje namwe+. 12 Uw’igitsina-gabo wese wo muri mwebwe amaze imisi umunani abwirizwa kugenyerwa+, nk’uko amayaruka yanyu ari, umuntu wese yavukiye mu nzu yawe n’umuntu wese yaguzwe amahera ku munyamahanga uwo ari we wese atari uwo mu ruvyaro rwawe. 13 Umuntu wese yavukiye mu nzu yawe n’umuntu wese yaguzwe amahera yawe abwirizwa kugenyerwa+ ata kabuza; kandi isezerano ryanje mu mubiri wanyu ritegerezwa kuba isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+. 14 Uw’igitsina-gabo atagenyerewe atazogenyeresha agashato k’umubiri wiwe, emwe, uwo muntu azotegerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+. Azoba yarenze isezerano ryanje.”
15 Imana yongera kubwira Aburahamu iti: “Nayo Sarayi umugore wawe, ntuze umwite Sarayi, kuko Sara ari ryo zina ryiwe+. 16 Nzomuhezagira, kandi nzoguha umuhungu kuri we+; egome, nzohezagira Sara, na we azokomokako amahanga+; abami b’ibisata vy’abantu bazokwamuka kuri we+.” 17 Nuko Aburahamu agwa yubamye maze atangura gutwenga no kuvuga mu mutima wiwe+ ati: “Mbega umuntu w’imyaka ijana azovyara umwana, na Sara, emwe, umugore w’imyaka mirongo icenda, yibaruke+?”
18 Inyuma y’ivyo Aburahamu abwira Imana y’ukuri ati: “Ese Ishimayeli yobaho imbere yawe+!” 19 Imana na yo ivuga iti: “Sara umugore wawe agiye koko kukuvyarira umuhungu, kandi uze umwite Izahaki+. Nzoshinga isezerano ryanje hamwe na we, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero ku ruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe+. 20 Mugabo ku vyerekeye Ishimayeli, nakwumvise. Ehe nzomuhezagira, ntume arondoka nongere ndamugwize cane rwose+. Emwe, azovamwo abakuru cumi na babiri, kandi nzomugira ihanga rikomeye+. 21 Ariko isezerano ryanje nzorishinga hamwe na Izahaki+, uwo Sara azokuvyarira mu mwaka uza kuri iki gihe cashinzwe+.”
22 Nuko Imana irangiza kuvugana na we, hanyuma iraduga ivuye aho Aburahamu ari+. 23 Aburahamu afata rero Ishimayeli umuhungu wiwe n’abantu bose bavukiye mu nzu yiwe n’abaguzwe amahera yiwe bose, uw’igitsina-gabo wese mu bantu bo mu rugo rwa Aburahamu, atangura kugenyera udushato tw’imibiri yabo kuri uwo musi nyene, nk’uko Imana yari yamubwiye+. 24 Aburahamu yari afise imyaka mirongo icenda n’icenda igihe yagenyeresha agashato k’umubiri wiwe+. 25 Ishimayeli umuhungu wiwe na we yari afise imyaka cumi n’itatu igihe yagenyeresha agashato k’umubiri wiwe+. 26 Uwo musi nyene Aburahamu aragenyerwa, be na Ishimayeli umuhungu wiwe+. 27 N’abagabo bose bo mu rugo rwiwe, umuntu wese yavukiye mu nzu, n’umuntu wese yaguzwe amahera ku munyamahanga, bagenyeranwa na we+.
18 Inyuma y’aho, Yehova aramubonekera+ mu biti binini vya Mamure+, igihe yari yicaye mu bwinjiriro bw’ihema nko mu gihe c’ubushuhe bw’umurango+. 2 Yunamuye amaso+, aritegereza maze abona abagabo batatu bari bahagaze nka hariya uvuye aho ari. Ababonye, yiruka kubasanganira avuye mu bwinjiriro bw’ihema maze arunama gushika hasi+. 3 Avuga ati: “Yehova, nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, ndakwinginze nturengane umusavyi wawe+. 4 Ndabinginze, hatorwe amazi makeyi hanyuma mwozwe ibirenge+. Maze mwicare munsi y’igiti+. 5 Nanje reka nzane ikimanyu c’umukate muhembure imitima yanyu+ hanyuma mwibandanirize, kuko ico ari co catumye muca muri iyi nzira igana ku musavyi wanyu.” Na bo bavuga bati: “Ni vyiza. Urashobora kugira nk’uko uvuze.”
6 Nuko Aburahamu anyarukira kw’ihema aho Sara ari, avuga ati: “Nyarutsa! Fata ingero zitatu za seya* z’ifu inoze, ucumbe igicumbe maze ukore udutsima tw’umuzingi+.” 7 Aburahamu aca yiruka mu busho, afata ikimasa coroshe kandi ciza, agiha umusuku, anyaruka kugitegura+. 8 Araheza afata amasoro n’amata na nya kimasa yari yateguye, abishira imbere yabo+. Maze ubwiwe aguma ahagaze iruhande yabo munsi y’igiti igihe bariko bararya+.
9 Baramubwira bati: “Sara umugore wawe+ ari hehe?” Na we avuga ati: “Ng’aha mw’ihema+!” 10 Nuko abandanya ati: “Nta nkeka nzogaruka kuri wewe mu mwaka uza nk’aya mango, kandi ehe Sara umugore wawe azoronka umuhungu+.” Sara na we yariko yumviriza ari mu bwinjiriro bw’ihema ryari inyuma ya nya muntu. 11 Aburahamu na Sara bari bashaje, bitereye mu myaka+. Sara yari yarahagaritse kuja mu butinyanka+. 12 Ku bw’ivyo Sara atangura gutwengera imbere muri we+, avuga ati: “Ko maze kuba akaheze, ubwo koko nzoronka agahimbare narirya umukama wanje ashaje+?” 13 Maze Yehova abwira Aburahamu ati: “Kubera iki Sara atwenze, akavuga ngo: ‘Ubwo koko vy’ukuri nzokwibaruka kandi nshaje+?’ 14 Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Ku gihe cashinzwe nzogaruka kuri wewe, mu mwaka uza nk’aya mango, kandi Sara azoronka umuhungu.” 15 Mugabo Sara atangura kubihakana, ati: “Sinatwenze!” Kuko yari yagize ubwoba. Na we avuga ati: “Oya, watwenze+.”
16 Mu nyuma nya bagabo bahaguruka ng’aho, baraba epfo berekeza i Sodomu+, kandi Aburahamu yariko ajana na bo abaherekeje+. 17 Nuko Yehova avuga ati: “Mbega ngume mpishije Aburahamu ivyo ngira nkore+? 18 Erega Aburahamu azocika ihanga rinini kandi ry’inkomezi; emwe, amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri we+. 19 Kuko namenyanye na we kugira ategeke abahungu biwe n’urugo rwiwe mu nyuma ziwe, ku buryo bazogumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi n’ubutungane+; kugira Yehova ashitse koko kuri Aburahamu ivyo yavuze ku bimwerekeye+.”
20 Ku bw’ivyo rero Yehova avuga ati: “Induru y’ukwidogera Sodomu na Gomora+, emwe, ni nyinshi, kandi igicumuro cabo, emwe, kiraremereye cane+. 21 Niyemeje rwose kumanuka kugira ndabe nimba bakora neza na neza nk’uko amaborogo haborogerwa yanshikiriye ari; nimba na ho atari ko biri, ndabimenye+.”
22 Nuko nya bagabo barahindukira bavuye ng’aho maze bafata inzira baja i Sodomu; mugabo Yehova+ we, yari agihagaze imbere ya Aburahamu+. 23 Aburahamu aregera rero maze avuga ati: “Ubwo vy’ukuri uzohonereza hamwe umugororotsi n’umubisha+? 24 Dufate ko hari abagororotsi mirongo itanu hagati muri nya gisagara. Woba none uzobazimaganya ntuharire ico kibanza ku bw’abo bagororotsi mirongo itanu bari muri co+? 25 Ni ibitokwiyumvirwa kuri wewe yuko wokora gutyo ukicana umugororotsi n’umubisha, umugororotsi bikamubera nk’uko bibera umubisha+! Ni ibitokwiyumvirwa kuri wewe+. Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse+?” 26 Maze Yehova avuga ati: “Ninasanga i Sodomu abagororotsi mirongo itanu hagati mu gisagara, nzoharira nya kibanza cose ku bwabo+.” 27 Mugabo Aburahamu abandanya kwishura, avuga ati: “Ndakwinginze, ehe nihaye kuvugana na Yehova kandi ndi umukungugu n’iminyota+. 28 Dufate ko nya bagororotsi mirongo itanu babuzemwo batanu. Mbega uzohonya ico gisagara cose ku bw’abo batanu?” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ninasangayo mirongo ine na batanu+.”
29 Mugabo yongera kuvugana na we, ati: “Dufate ko mirongo ine ari bo usanzeyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo mirongo ine.” 30 Mugabo abandanya ati: “Ndakwinginze, ese Yehova atorungura n’ishavu+, mugabo reka mbandanye kuvuga+: Dufate ko mirongo itatu ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ninasangayo mirongo itatu.” 31 Mugabo abandanya ati: “Ndakwinginze, ehe nihaye kuvugana na Yehova+: Dufate ko mirongo ibiri ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo mirongo ibiri+.” 32 Amaherezo avuga ati: “Ndakwinginze, ese Yehova atorungura n’ishavu+, mugabo reka mvuge iri rimwe gusa+: Dufate ko cumi ari bo basanzweyo.” Na we avuga ati: “Sinzogihonya ku bw’abo cumi+.” 33 Maze Yehova+ arigira arangije kuvugana na Aburahamu, Aburahamu na we asubira iwe.
19 Nuko ba bamarayika babiri bashika i Sodomu ku mugoroba, kandi Loti yari yicaye mw’irembo rya Sodomu+. Loti ababonye, arahaguruka rero aja kubasanganira maze arunama mu maso hiwe hakora hasi+. 2 Hanyuma avuga ati: “Ndabinginze rero batungwa, ndabinginze mukebereze mu nzu y’umusavyi wanyu, muharare kandi mwozwe ibirenge+. Maze muvyuke kare, mufate inzira mwigire+.” Na bo bavuga bati: “Oya, ahubwo mu kibanza ca bose ni ho turara+.” 3 Mugabo arabagobera cane+, ku buryo bakebereza iwe bakinjira mu nzu yiwe. Maze abaronderera inzimano+, yongera abokereza udutsima tutarimwo umwambiro+, batangura kurya.
4 Imbere y’uko baryama, abagabo bo muri ico gisagara, abagabo b’i Sodomu, bakikuza nya nzu+, uhereye ku gahungu ugashika ku mutama, abantu bose mu mugwi umwe+. 5 Nuko baguma basemerera kuri Loti bamubwira bati: “Ba bagabo binjiye iwawe iri joro bari he? Basohore ubazane aho turi turyamane na bo+.”
6 Amaherezo Loti arasohoka aja iyo bari ku bwinjiriro, mugabo yugara umuryango inyuma yiwe. 7 Maze avuga ati: “Ndabinginze, bene wacu, ntimukore nabi+. 8 Ndabinginze, ehe mfise abakobwa babiri batigeze baryamana n’umugabo+. Ndabinginze, hinge ndababasohorere. Maze mubakorere nk’uko mubona ko ari vyiza mu maso yanyu+. Gusa aba bagabo ntihagire ico mubagira+, kuko ari co catumye baza mu gitutu c’igisenge canje+.” 9 Na bo bavuga bati: “Igira hariya!” Bongerako bati: “Uyu mugabo w’inyakamwe yaje hano kuhaba ari kavamahanga+, yamara agomba vy’ukuri kwigira umucamanza+. Ubu rero tugiye kukugirira nabi kuruta bo.” Maze basunika cane uwo mugabo+ Loti, kandi bariko begereza kumena umuryango+. 10 Nuko nya bagabo batuma amaboko maze bazana Loti aho bari mu nzu, baraheza bugara umuryango. 11 Mugabo bateza uruhumyi nya bagabo bari ku bwinjiriro bw’inzu+, kuva ku mutoyi gushika ku wuhambaye+, ku buryo biruhisha barondera ubwinjiriro+.
12 Maze nya bagabo babwira Loti bati: “Hari uwundi muntu ufise ng’aha? Umukwe, abahungu bawe n’abakobwa bawe n’abo ufise bose muri iki gisagara, basohore bave aha hantu+! 13 Kuko tugira duhonye aha hantu, kubera ko amaborogo abantu baho baborogerwa yabaye menshi imbere ya Yehova+, bigatuma Yehova adutuma guhonya iki gisagara+.” 14 Ku bw’ivyo Loti arasohoka maze atangura kubwira abakwe biwe botwaye abakobwa biwe, aguma avuga ati: “Haguruke! Nimuve aha hantu, kuko Yehova agira ahonye iki gisagara+!” Mugabo mu maso y’abakwe biwe yasa n’umuntu yijajurira+.
15 Ariko umutwenzi utambitse, nya bamarayika batangura guhutagiza Loti bati: “Haguruka! Tora umugore wawe n’abakobwa bawe babiri bari ng’aha+, kugira ntuzimanganywe mw’ikosa ry’iki gisagara+!” 16 Agumye ahinahina+, nya bagabo, ku bw’impuhwe za Yehova zari kuri we+, baca bafata ukuboko kwiwe n’ukuboko kw’umugore wiwe n’amaboko y’abakobwa biwe babiri maze baramusohora, bamushira hanze y’igisagara+. 17 Nuko, bakimara kubashikana ku mubari w’igisagara, avuga ati: “Hunga unyage amagara+! Nturabe inyuma yawe+ kandi ntuhagarare muri iyi Ntara yose+! Hungira mu karere k’imisozi ntuhave uzimanganywa+!”
18 Maze Loti ababwira ati: “Oya Yehova, si ukwo! 19 Umusavyi wawe yaragize ubutoni mu maso yawe+ ku buryo uriko ukuza ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+, ubwo wangiriye mu kunzigamira ubuzima+, mugabo jewe—jewe sinshoboye guhungira mu karere k’imisozi, kuko ivyago vyohava bimpamvya ngapfa ata kabuza+. 20 Erega iki gisagara ni co kiri hafi co guhungiramwo, kandi ni ikintu gitoya+. Ndakwinginze unkundire mpungireyo—none si ikintu gitoya?—mbone kubandanya kubaho+.” 21 Nuko amubwira ati: “Ehe ndakwemereye n’ico kintu usavye+. Sindandura igisagara uvuze+. 22 Nyaruka uhungireyo, kuko ata co nshobora gukora utarashikayo+!” Ni co catumye yita nya gisagara Zowari+.
23 Loti ashika i Zowari izuba riri hejuru y’ico gihugu+. 24 Maze Yehova agwisha kuri Sodomu no kuri Gomora imvura y’amazuku n’umuriro bivuye kuri Yehova, bivuye mu majuru+. 25 Gutyo yubika ivyo bisagara, egome, nya Ntara yose n’ababa muri ivyo bisagara bose be n’ibiterwa vyo ku butaka+. 26 Umugore wiwe atangura rero kuraba inyuma ari inyuma yiwe, aca acika inkingi y’umunyu+.
27 Aburahamu afata inzira kare mu gitondo, aja ha hantu yari yahagaze imbere ya Yehova+. 28 Hanyuma araba epfo amaja i Sodomu n’i Gomora n’amaja mu gihugu cose ca nya Ntara, abona ikintu gitangaje. Erega, ehe umwotsi w’umuzitanya wariko uraduga uvuye muri ico gihugu nk’umwotsi w’umuzitanya w’itanure+! 29 Kandi igihe Imana yahonya ibisagara vyo muri iyo Ntara, yariyumviriye Aburahamu mu kugira ico ikoze igakiza Loti agatikizo, igihe yatikiza ibisagara Loti yabamwo+.
30 Mu nyuma Loti araduga avuye i Zowari maze atangura kuba mu karere k’imisozi, ari kumwe n’abakobwa biwe babiri+, kuko yatinye kuba i Zowari+. Nuko aba mw’isenga, we n’abakobwa biwe babiri. 31 Maze imfura ibwira umuto iti: “Data arashaje kandi nta mugabo ariho mu gihugu ngo aryamane natwe, nk’uko bigenda mw’isi yose+. 32 Ingo duhe data umuvinyu anywe+, maze turyamane na we duheze tuzigame uruvyaro kuri data+.”
33 Baguma rero baha se umuvinyu ngo anywe muri iryo joro+; maze imfura irinjira iryamana na se, mugabo uno ntiyamenya igihe nya mukobwa yaryamiye n’igihe yavyukiye. 34 Ku musi ukurikira, imfura ibwira rero umuto iti: “Ehe naryamanye na dawe mw’ijoro ryakeye. Tumuhe umuvinyu anywe no muri rino joro. Hanyuma winjire uryamane na we, maze tuzigame uruvyaro kuri data.” 35 Nuko baguma baha se umuvinyu ngo anywe no muri iryo joro; maze umuto arahaguruka aryamana na we, mugabo ntiyamenya igihe nya mukobwa yaryamiye n’igihe yavyukiye. 36 Maze nya bakobwa ba Loti bompi baribungenga bivuye kuri se+. 37 Mu nyuma imfura ivyara umuhungu, imwita Mowabu+. Ni we se w’Abanyamowabu gushika n’uyu musi+. 38 Umuto na we nyene yibaruka umuhungu, amwita Beni-ami. Ni we se wa bene Amoni+ gushika n’uyu musi.
20 Nuko Aburahamu yimura ikambi avuye ng’aho+, aja mu gihugu ca Negebu maze aba hagati y’i Kadeshi+ n’i Shuri+ yongera aba i Gerari+ ari kavamahanga. 2 Kandi Aburahamu yaza aravuga ku vyerekeye Sara umugore wiwe ati: “Ni mushikanje+.” Nuko Abimeleki umwami wa Gerari atuma kuzana Sara+. 3 Mu nyuma Imana iza kuri Abimeleki mu ndoto mw’ijoro, imubwira iti: “Ehe urapfuye kubera umugore watwaye+, kuko ari umugore w’uwundi mugabo+.” 4 Ariko Abimeleki ntiyari yamwegereye+. Ku bw’ivyo avuga ati: “Yehova, mbega wokwica ihanga rigororotse vy’ukuri+? 5 None ntiyambwiye ati: ‘Ni mushikanje’? Kandi uno na we, ntiyavuze ati: ‘Ni musazanje’? Ivyo nabigize mu kugororoka kw’umutima wanje kandi mbigirana ugutungana kw’ibiganza vyanje+.” 6 Nuko Imana y’ukuri imubwira muri nya ndoto iti: “Na jewe namenye ko ivyo wabigize mu kugororoka kw’umutima wawe+, vyongeye ni jewe kandi nariko ngutangira ngo ntuncumureko+. Ico ni co catumye ntakwemerera kumukorako+. 7 Mugabo ubu rero nusubize umugore w’uwo mugabo, kuko uwo mugabo ari umuhanuzi+, na we azotakamba ku bwawe+, ubandanye kubaho. Mugabo nutamusubiza, umenye ko uzopfa ata kabuza, mwe n’abawe bose+.”
8 Nuko Abimeleki avyuka kare mu gitondo, ahamagara abasuku biwe bose, avugira ivyo bintu vyose mu matwi yabo. Nya bantu baratinya cane. 9 Maze Abimeleki ahamagara Aburahamu, amubwira ati: “Wadukoreye ibiki, kandi nagukoreye igicumuro ki, muko uzana kuri jewe no ku bwami bwanje igicumuro gikomeye+? Wankoreye ibintu bitari bikwiye gukorwa+.” 10 Abimeleki yongera kubwira Aburahamu ati: “Washaka gushika ku ki mu gukora ico kintu+?” 11 Aburahamu na we avuga ati: “Ni uko nibwiye nti: ‘Ni ukuri nta gutinya Imana kuri aha hantu+, kandi ntibazobura kunyica kubera umugore wanje+.’ 12 Bisubiye, ni mushikanje vy’ukuri, umukobwa wa dawe, uretse ko atari umukobwa wa mawe; kandi yacitse umugore wanje+. 13 Nuko, igihe Imana yatuma nyerēra mvuye mu nzu ya dawe+, naramubwiye rero nti: ‘Ubu ni bwo buntu bwuzuye urukundo+ wongirira: Ahantu hose tuzoshika uzovuge ku binyerekeye uti: “Ni musazanje+.”’”
14 Inyuma y’ivyo Abimeleki afata intama n’inka n’abasuku n’abasukukazi abiha Aburahamu, yongera amusubiza Sara umugore wiwe+. 15 Vyongeye Abimeleki avuga ati: “Ehe igihugu canje kiri imbere yawe. Nube aho ubona ko ari heza mu maso yawe+.” 16 Abwira Sara na we ati: “Ehe mpaye koko musazawe+ ibice igihumbi vy’amahera y’ifeza. Ni ivyo kwereka abari kumwe nawe bose n’umuntu wese ko uri intungane*+, kandi urakuweko iceyi.” 17 Nuko Aburahamu atangura gutakambira Imana y’ukuri+; maze Imana ikiza Abimeleki n’umugore wiwe n’abashumbakazi biwe, baraheza batangura kuvyara abana. 18 Kuko Yehova yari yarugaye aradadira ibitereko vyose vy’ab’inzu ya Abimeleki kubera Sara umugore wa Aburahamu+.
21 Nuko Yehova yitaho Sara nk’uko yari yaravuze, maze Yehova agirira Sara nk’uko yari yaravuze+. 2 Sara aribungenga+, araheza avyarira umuhungu Aburahamu mu busaza bwiwe kuri ca gihe cashinzwe Imana yari yaramubwiye+. 3 Nuko rero Aburahamu yita Izahaki+ umuhungu wiwe yari yavyariwe, uwo Sara yari yamuvyariye. 4 Maze Aburahamu agenyera Izahaki umuhungu wiwe amaze imisi umunani, nk’uko Imana yari yaramutegetse+. 5 Aburahamu yari afise imyaka ijana igihe yavyarirwa Izahaki umuhungu wiwe. 6 Maze Sara avuga ati: “Imana yanteguriye agatwengo: uwuzovyumva wese azontwenga+.” 7 Kandi yongerako ati: “Ni nde yobwiye Aburahamu ati: ‘Sara azokwonsa abana ata kabuza?’ Yamara jewe nibarutse umuhungu mu busaza bwiwe.”
8 Nya mwana aguma akura, barahava baramucutsa+; maze Aburahamu ategura inzimano ihambaye ku musi wo gucutsa Izahaki. 9 Kandi Sara yaguma abona umuhungu wa Hagari Umunyamisirikazi+, uwo yari yaravyariye Aburahamu, ashinyagura+. 10 Atangura rero kubwira Aburahamu ati: “Irukana uyu mushumbakazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’uyu mushumbakazi atazoba samuragwa kumwe n’umuhungu wanje, kumwe na Izahaki+!” 11 Mugabo ico kintu kibabaza cane Aburahamu ku bijanye n’umuhungu wiwe+. 12 Maze Imana ibwira Aburahamu iti: “Ntureke ngo hagire ikintu na kimwe Sara aguma akubwira kikubabaza ku vyerekeye uwo muhungu no ku vyerekeye umushumbakazi wawe. Umviriza ijwi ryiwe, kuko ikizokwitwa uruvyaro* rwawe kizoboneka biciye kuri Izahaki+. 13 Nayo uwo muhungu w’uwo mushumbakazi+, na we nyene nzomugira ihanga, kuko ari uruvyaro rwawe+.”
14 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, afata umukate n’umukuza w’urushato w’amazi abiha Hagari+ mu kubishira ku rutugu rwiwe, amuha na nya mwana+, araheza aramurungika. Nuko Hagari aragenda, ayerera mu gahinga ka Beyeri-sheba+. 15 Amaherezo amazi arahera+ muri nya mukuza w’urushato, hanyuma ata+ nya mwana munsi ya kimwe mu bisaka vyaho. 16 Maze arabandanya, yicara ukwiwe, nk’ahoraswa n’umuheto, kuko yavuga ati: “Sindabibone umwana niyapfa+.” Nuko yicara nka hariya, ashira ijwi hejuru ararira+.
17 Maze Imana yumva ijwi rya nya muhungu+, hanyuma umumarayika w’Imana ahamagara Hagari ari mu majuru, amubwira+ ati: “Ni amaki ga Hagari? Ntutinye, kuko Imana yumvirije ijwi ry’uriya muhungu, hariya ari. 18 Haguruka, ukure hasi uwo muhungu umufate n’ukuboko kwawe, kuko nzomugira ihanga rikomeye+.” 19 Maze Imana ihumura amaso yiwe, araheza abona iriba ry’amazi+; nuko aragenda atangura kwuzuza nya mukuza w’urushato amazi no guha nya muhungu utwo kunywa. 20 Nuko Imana ibandanya kubana na nya muhungu+, na we abandanya gukura no kuba mu gahinga; acika umurashi+. 21 Aba mu gahinga ka Parani+, maze nyina amuronkera umugore wo mu gihugu ca Misiri.
22 Nuko ico gihe, Abimeleki ari kumwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: “Imana iri kumwe nawe mu kintu cose ukora+. 23 Ubu rero, ndahira Imana+ ng’aha yuko utazoduhemukira twe n’uruvyaro rwanje n’abazorukomokako+; yuko, nk’uko nakugiriye urukundo rudahemuka+, ari ko uzotugirira twe n’igihugu ubayemwo uri kavamahanga+.” 24 Nuko Aburahamu avuga ati: “Ndarahira+.”
25 Aburahamu akariye Abimeleki ku bijanye n’iriba ry’amazi abasuku ba Abimeleki bari banyaze ku nguvu+, 26 Abimeleki aca avuga ati: “Sinzi uwakoze ico kintu, eka nawe ubwawe ntiwabimbwiye, kandi nanje ubwanje sinari bwavyumve atari uno musi+.” 27 Nuko Aburahamu afata intama n’inka abiha Abimeleki+, maze bompi bagirana isezerano+. 28 Aburahamu ashize imyagazi y’intama y’amashashi indwi yo mu mukuku ukwa yonyene, 29 Abimeleki yongera kubwira Aburahamu ati: “Aha iyi myagazi y’intama y’amashashi indwi washize ukwa yonyene isobanura iki?” 30 Maze avuga ati: “Wakire mu kuboko kwanje iyo myagazi y’intama y’amashashi indwi, kugira bimbere icabona+ yuko nimvye iri riba.” 31 Ni co catumye yita aho hantu Beyeri-sheba+, kuko aho ari ho bompi barahiriye indahiro. 32 Nuko bapfundika isezerano+ i Beyeri-sheba; maze Abimeleki ahagurukana na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe basubira mu gihugu c’Abafilisitiya+. 33 Inyuma y’ivyo atera igiti c’umukwaju i Beyeri-sheba maze ahambariza izina rya Yehova+, Imana yamaho ibihe bidahera+. 34 Nuko Aburahamu abandanya kuba mu gihugu c’Abafilisitiya imisi myinshi ari kavamahanga+.
22 Inyuma y’ivyo, Imana y’ukuri igeza+ Aburahamu. Nuko imubwira iti: “Aburahamu!” Na we ati: “Ndi hano+!” 2 Ibandanya kuvuga iti: “Enda tora umuhungu wawe, umuhungu wawe rudende ukunda cane+, Izahaki+, ufate urugendo uje mu gihugu ca Moriya+, maze ng’aho, umushikane bwa shikanwa riturirwa, kuri umwe mu misozi nzokurangira+.”
3 Nuko Aburahamu avyuka kare mu gitondo, ashira itandiko ku ndogobwa yiwe, ahitana babiri mu basuku biwe na Izahaki umuhungu wiwe+; asatura n’inkwi za nya shikanwa riturirwa. Maze arahaguruka afata urugendo aja nya hantu Imana y’ukuri yari yamurangiye. 4 Ku musi ugira gatatu ni ho Aburahamu yararamura amaso, maze abona nya hantu akiri kure. 5 Aburahamu abwira rero abasuku biwe+ ati: “Mwebwe nimusigare ng’aha n’indogobwa, jewe n’uyu muhungu dushaka kugenda gushika hariya gusenga+, duheze tugaruke aho muri.”
6 Aburahamu afata za nkwi z’ishikanwa riturirwa aziremeka Izahaki umuhungu wiwe+, afata mu maboko yiwe umuriro n’ikibugita, maze bompi babandanya urugendo+. 7 Maze Izahaki abwira Aburahamu se wiwe ati: “Da+!” Na we ati: “Ndi hano, mwananje+!” Abandanya ati: “Umuriro n’inkwi ng’ibi, ariko none intama y’ishikanwa riturirwa iri hehe+?” 8 Aburahamu na we ati: “Imana ubwayo iraza gutanga intama y’ishikanwa riturirwa+, mwananje.” Nuko bompi babandanya urugendo.
9 Amaherezo bashika ha hantu Imana y’ukuri yari yamurangiye, maze Aburahamu ahubaka igicaniro+, atunganya inkwi, araheza aboha Izahaki umuhungu wiwe amaboko n’amaguru, amushira kuri nya gicaniro hejuru y’inkwi+. 10 Maze Aburahamu atuma ukuboko afata ca kibugita kugira yice umuhungu wiwe+. 11 Mugabo umumarayika wa Yehova amuhamagara ari mu majuru ati+: “Aburahamu, Aburahamu!” Na we arishura ati: “Ndi hano!” 12 Abandanya ati: “Ntubangurire ukuboko uwo muhungu, kandi ntihagire ico umugira+, kuko ubu menye vy’ukuri yuko utinya Imana, kuko utanyimye umuhungu wawe, umwana wawe rudende+.” 13 Nuko Aburahamu araramura amaso aritegereza, aza abona nka hariya imbere impfizi y’intama yafashwe amahembe mu gisaka c’inzitane. Maze Aburahamu aragenda afata nya mpfizi y’intama, ayitanga bwa shikanwa riturirwa mu kibanza c’umuhungu wiwe+. 14 Aho hantu Aburahamu ahita Yehova-yire. Ni co gituma bikunze kuvugwa muri iki gihe ngo: “Ku musozi wa Yehova bizoronkeka+.”
15 Nuko umumarayika wa Yehova ahamagara Aburahamu ubugira kabiri ari mu majuru 16 avuga ati: “‘Emwe, ndirahiye jewe ubwanje,’ ni ko Yehova avuze+, ‘yuko, ko wakoze ico kintu ntiwimane umuhungu wawe, umwana wawe rudende+, 17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+. 18 Kandi biciye ku ruvyaro rwawe+ amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro kubera yuko wumvirije ijwi ryanje+.’”
19 Hanyuma Aburahamu asubira aho abasuku biwe bari, barahaguruka bafata inzira bajana i Beyeri-sheba+; nuko Aburahamu abandanya kuba i Beyeri-sheba.
20 Inyuma y’ivyo, inkuru ishikira Aburahamu ngo: “Ehe Milika+ na we nyene yaravyariye abana Nahori+ mwene wanyu: 21 Uzu imfura yiwe na Buzu+ mwene wabo na Kemuweli se wa Aramu, 22 na Kesedi na Hazo na Piludashi na Yidulafu na Betuweli+.” 23 Betuweli avyara Rebeka+. Abo umunani Milika yabavyariye Nahori mwene wabo na Aburahamu. 24 Hariho n’incoreke yiwe yitwa Reyuma. Mu nyuma na yo nyene yibaruka Teba na Gahamu na Tahashi na Mayaka+.
23 Ubuzima bwa Sara bwamaze imyaka ijana na mirongo ibiri n’indwi. Ni yo yabaye imyaka y’ubuzima bwa Sara+. 2 Nuko Sara apfira i Kiriyati-aruba+, ni ukuvuga Heburoni+, mu gihugu ca Kanani+, hanyuma Aburahamu yinjira kuborogera Sara no kumuririra. 3 Maze Aburahamu arahaguruka ava imbere y’umupfu wiwe, abwira bene Heti+ ati: 4 “Ndi kavamahanga n’inyambukira muri mwebwe+. Nimumpe iwanyu itongo ryo guhambamwo nigabira kugira mpambe umupfu wanje ave mu maso yanje+.” 5 Nuko bene Heti bishura Aburahamu bati: 6 “Nutwumve mukama wanje+. Hagati muri twebwe uri umukuru yatowe n’Imana+. Nuhambe umupfu wawe mw’itongo ryo guhambamwo ryiza kuruta ayandi mu matongo yacu yo guhambamwo+. Nta n’umwe muri twebwe ari bukwime itongo ryiwe ryo guhambamwo ngo abuze ko umupfu wawe ahambwa+.”
7 Nuko rero Aburahamu arahaguruka maze yunamira izo mvukira+, ari bo bene Heti+, 8 avugana na bo ati: “Niba mwemeye ko umupfu wanje ahambwa akava mu maso yanje, nimunyumvirize kandi munyingingire Efuroni mwene Zohari+, 9 ampe isenga ryiwe ry’i Makipela+ riri ku mpera y’itongo ryiwe. Narimpere hagati yanyu ku rugero rw’ifeza bikwiranye, ribe itongo ryo guhambamwo nigabira+.”
10 Ico gihe, Efuroni yari yicaye muri bene Heti. Nuko Efuroni Umuheti+ yishura Aburahamu, bene Heti n’abinjira mw’irembo ry’igisagara ciwe bose bumva, ati+: 11 “Oya, mukama wanje! Nyumviriza. Itongo ndariguhaye koko, n’isenga riri muri ryo ndariguhaye. Ndariguhereye mu maso y’abahungu b’igisata canje+. Nuhambe umupfu wawe.” 12 Aburahamu aca arunama imbere y’izo mvukira, 13 abwira Efuroni izo mvukira zumva, ati: “Mu gihe gusa wo . . . oya, nyumviriza! Ndaguha urwo rugero rw’ifeza ku bw’iryo tongo. Runyakirire+, kugira ndahahambe umupfu wanje.”
14 Maze Efuroni yishura Aburahamu ati: 15 “Mukama wanje, nyumviriza. Igihimba c’itongo giciye shekeli z’ifeza amajana ane, ico ni iki hagati yanje nawe? Nuhambe umupfu wawe+.” 16 Aburahamu yumviriza Efuroni rero, maze Aburahamu apimira Efuroni urugero rw’ifeza yari yavuze bene Heti bumva, shekeli z’ifeza amajana ane ku gipimo cemewe n’abadandaza+. 17 Gutyo itongo rya Efuroni ryari i Makipela, imbere ya Mamure, itongo n’isenga ryari muri ryo be n’ibiti vyose vyari muri nya tongo+, ivyari hagati y’imbibe zaryo zose birikikuje, biremezwa+ 18 ko ari ivya Aburahamu, ko ari inyegu yiwe yaguze mu maso ya bene Heti, mu binjira mw’irembo ry’igisagara ciwe bose+. 19 Inyuma y’ivyo, Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe mw’isenga ryo mw’itongo ry’i Makipela imbere ya Mamure, ni ukuvuga Heburoni, mu gihugu ca Kanani+. 20 Gutyo, nya tongo na nya senga ryari muri ryo biremezwa na bene Heti yuko ari ivya Aburahamu ngo bibe itongo ryo guhambamwo yigabira+.
24 Aburahamu yari ashaje, yitereye mu myaka; kandi Yehova yari yarahezagiye Aburahamu mu kintu cose+. 2 Nuko Aburahamu abwira umusuku wiwe, uwari akuze kuruta abandi mu rugo rwiwe, yayobora ivyo yari afise vyose+, ati: “Ndakwinginze ushire ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje+, 3 kuko ngira nkurahize Yehova+, Imana y’amajuru n’Imana y’isi, yuko utazoronderera umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani mbayemwo+; 4 mugabo uze ugende mu gihugu canje no mu ncuti zanje+, uronderere umugore umuhungu wanje Izahaki.”
5 Ariko nya musuku amubwira ati: “Bizogenda gute none hamwe nya mugore atoshima kuzanana nanje muri iki gihugu? Noba nzobwirizwa gusubiza umuhungu wawe mu gihugu wavuyemwo+?” 6 Nuko Aburahamu amubwira ati: “Wiyubare ntuze usubizeyo+ umuhungu wanje. 7 Yehova Imana y’amajuru, we yankuye mu nzu ya dawe no mu gihugu c’incuti zanje+, we yambwiye akongera akandahira+, ati: ‘Uruvyaro rwawe+ nzoruha iki gihugu+,’ azorungika umumarayika wiwe imbere yawe+, kandi uze uronderereyo umuhungu wanje umugore+. 8 Mugabo nya mugore natashima kuzanana nawe, ntuzoba rero ugifatwa n’iyo ndahiro wandahiye+. Gusa ntuze usubizeyo umuhungu wanje.” 9 Nuko nya musuku ashira ukuboko munsi y’itako rya Aburahamu shebuja, maze aramurahira ku bijanye n’ico kintu+.
10 Nya musuku afata rero ingamiya cumi mu ngamiya za shebuja aragenda, ajanye mu kuboko kwiwe ubwoko bwose bw’ikintu ciza ca shebuja+. Maze arahaguruka, afata inzira aja i Mezopotamiya mu gisagara ca Nahori. 11 Amaherezo apfukamika ingamiya hanze y’igisagara kw’iriba ry’amazi nko mu gihe c’umugoroba+, nko mu gihe abagore baja kuvoma amazi bari basanzwe basohokerako+. 12 Nuko aravuga ati: “Yehova Mana ya databuja Aburahamu+, ndakwinginze utume ndoranirwa uyu musi kandi ugirire ubuntu bwuzuye urukundo+ databuja Aburahamu+. 13 Ehe mpagaze kw’isôko ry’amazi, kandi abakobwa b’abantu bo mu gisagara bariko basohoka kuvoma amazi+. 14 Ibi ni vyo biri bushike: umwigeme nza kubwira nti: ‘Ndakwinginze wururutse umubindi wawe w’amazi kugira nywe,’ maze akavuga koko ati: ‘Nunywe, kandi ndanavomera n’ingamiya zawe,’ uwo ni we uri bugenere umusavyi wawe+ Izahaki; kandi biciye kuri ivyo umenyeshe yuko wagiriye urukundo rudahemuka databuja+.”
15 Erega, ataraheza kuvuga+, aza abona Rebeka arasohotse, uwari yavutse kuri Betuweli+ umuhungu wa Milika+ umugore wa Nahori+, mwene wabo na Aburahamu, kandi umubindi wiwe w’amazi wari ku rutugu+. 16 Uwo mwigeme yari ateye igomwe+; yari isugi kandi nta mugabo yari bwaryamane na we+. Nuko amanuka kw’isôko maze atangura kwuzuza umubindi wiwe w’amazi hanyuma araduga. 17 Ako kanya nya musuku yiruka kumusanganira, avuga ati: “Ndakwinginze umpe nywe utuzi dukeyi ku mubindi wawe+.” 18 Na we avuga ati: “Nunywe, mukama wanje.” Aca yururukiriza ningoga umubindi wiwe ku kiganza ciwe maze aramuha aranywa+. 19 Arangije kumuha utwo kunywa, aca avuga ati: “N’ingamiya zawe ndazivomera amazi gushika zihejeje kunywa+.” 20 Nuko acuranurira ningoga umubindi wiwe mu bwato ibitungwa binyweramwo hanyuma yiruka incuro n’izindi kw’iriba kuvoma amazi+, aguma avomera ingamiya ziwe zose. 21 Ico gihe cose nya mugabo yariko amwitegereza yatangaye kandi acereje, kugira amenye nimba Yehova yari yatumye canke atari yatumye urugendo rwiwe ruroranirwa+.
22 Nuko rero, ingamiya zirangije kunywa, nya mugabo atora impeta y’inzahabu yo ku zuru+ ifise uburemere bw’igice ca shekeli n’ibikomo+ bibiri vyo gushira ku maboko ya nya mwigeme, uburemere bwavyo bukaba bwari shekeli cumi z’inzahabu, 23 maze avuga ati: “Uri umukobwa wa nde? Ndakwinginze umbwire. Hoba hari ikibanza mu nzu ya so tworaramwo+?” 24 Na we amubwira ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli+ umuhungu wa Milika, uwo yavyariye Nahori+.” 25 Amubwira kandi ati: “Iwacu hariho ibikumbi n’indya z’ibitungwa nyinshi, be n’ahantu ho kurara+.” 26 Nuko nya mugabo arunama, akubita inkoro hasi imbere ya Yehova+, 27 avuga ati: “Hahezagirwe Yehova+ Imana ya databuja Aburahamu, we ataretse kugirira databuja ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe n’ubwizigirwa bwiwe. Igihe nari ku nzira, Yehova yanyoboye ku nzu ya bene wabo na databuja+.”
28 Nya mwigeme ariruka, abwira urugo rwa nyina ivyo bintu. 29 Kandi Rebeka yari afise musazawe, akaba yitwa Labani+. Nuko Labani ariruka aja kuri nya mugabo aho yari hanze kw’isôko. 30 Akibona nya mpeta yo ku zuru na nya bikomo+ ku maboko ya mushikiwe akumva n’amajambo ya Rebeka mushikiwe ngo: “Uku n’uku ni ko nya mugabo yambwiye,” aca aza kuri nya mugabo, kandi ni ho yari ari, ahagaze iruhande y’ingamiya kw’isôko. 31 Aca avuga ati: “Ingo, wewe uwahezagiwe na Yehova+. Kubera iki uguma uhagaze aha hanze kandi jewe nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?” 32 Nya mugabo araza mu nzu, maze Labani atangura kwambura imigozi ingamiya no guha ibikumbi n’indya z’ibitungwa nya ngamiya, atanga n’amazi yo kwoza ibirenge vy’uwo mugabo n’ibirenge vy’abagabo bari kumwe na we+. 33 Maze ivyo kurya bishirwa imbere yiwe, mugabo avuga ati: “Sindya ntaravuga ikingenza.” Uwundi ati: “Vuga+!”
34 Abandanya kuvuga ati: “Ndi umusuku wa Aburahamu+. 35 Yehova yarahezagiye databuja rwose, kuko abandanya kumugira uwukomeye no kumuha intama n’inka n’ifeza n’inzahabu n’abasuku n’abasukukazi n’ingamiya n’indogobwa+. 36 Vyongeye, Sara umugore wa databuja, amaze gusaza, yaramuvyariye umuhungu+. Databuja azoha uwo muhungu wiwe ikintu cose afise+. 37 Databuja rero yarandahije ati: ‘Ntuze uronderere umuhungu wanje umugore mu bakobwa b’Abanyakanani bene igihugu mbayemwo+. 38 Oya, ahubwo uzogende ku nzu ya dawe no ku muryango wanje+, ukurireyo umuhungu wanje umugore+.’ 39 Mugabo nabwiye databuja nti: ‘Bite none nya mugore natazanana nanje+?’ 40 Maze ambwira ati: ‘Yehova, uwo nagendeye imbere+, azorungika umumarayika wiwe+ ajane nawe, kandi ata gukeka azotuma inzira yawe iroranirwa+; nawe uze uronderere umuhungu wanje umugore mu muryango wanje no mu nzu ya dawe+. 41 Ico gihe uzoba ukuweko ico indahiro igusaba kuri jewe niwashika mu muryango wanje, kandi nibatamuguha, ntuzofatwa n’ico iyo ndahiro igusaba kuri jewe+.’
42 “Nshitse kw’isôko uno musi, naciye mvuga nti: ‘Yehova Mana ya databuja Aburahamu, nimba vy’ukuri uriko utuma inzira yanje ndiko njana iroranirwa+, 43 ehe mpagaze kw’isôko ry’amazi. Ibi ni vyo biri bushike: umwigeme+ asohoka kuvoma amazi nza kubwira koko nti: “Ndakwinginze ureke nywe utuzi dukeyi ku mubindi wawe,” 44 kandi koko akambwira ati: “Nunywe, kandi ndanavomera amazi n’ingamiya zawe,” azoba ari we mugore Yehova yageneye umuhungu wa databuja+.’
45 “Ntararangiza kuvugira+ mu mutima wanje+, nagiye mbona Rebeka asohotse, afise umubindi wiwe ku rutugu; yaciye amanuka kw’isôko, atangura kuvoma amazi+. Ni kwo kumubwira nti: ‘Ndakwinginze umpe utwo kunywa+.’ 46 Yaciye yururutsa ningoga umubindi wiwe awukuye kuri we, maze avuga ati: ‘Nunywe+, kandi ndanavomera n’ingamiya zawe.’ Naciye nywa, kandi yanavomeye n’ingamiya. 47 Nca ndamubaza nti: ‘Uri umukobwa wa nde+?’ Na we ati: ‘Umukobwa wa Betuweli mwene Nahori, uwo Milika yamuvyariye.’ Naciye rero nshira ku zuru ryiwe impeta yo ku zuru n’ibikomo ku maboko yiwe+. 48 Nca ndunama, nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova maze mpezagira Yehova Imana ya databuja Aburahamu+, we yari yanyoboye mu nzira y’ukuri+ kugira ndonderere umuhungu wa databuja umukobwa wa mwene wabo. 49 Ubu rero nimba vy’ukuri mugiriye databuja ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+, nimubimbwire; atari ukwo na ho, mubimbwire, kugira mpindukirire iburyo canke ibubamfu+.”
50 Maze Labani na Betuweli barishura, bavuga bati: “Ico kintu cavuye kuri Yehova+. Ntidushoboye kukubwira inabi canke ineza+. 51 Ng’uyu Rebeka imbere yawe. Mutore ugende, acike umugore w’umuhungu wa shobuja, nk’uko Yehova yavuze+.” 52 Nya musuku wa Aburahamu amaze kwumva amajambo yabo, aca akubita inkoro hasi imbere ya Yehova+. 53 Maze uwo musuku asohora ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu n’impuzu, abiha Rebeka; kandi aha musazawe na nyina ibintu vyiza+. 54 Inyuma y’ivyo bararya baranywa, we n’abagabo bari kumwe na we, baraharara baraheza bavyuka mu gitondo.
Maze avuga ati: “Nimundungike kwa databuja+.” 55 Avuze ivyo musaza wa Rebeka na nyina bavuga bati: “Uwo mwigeme nagumane natwe n’imiburiburi imisi cumi. Azoheza agende.” 56 Mugabo ababwira ati: “Ntimungumye, kuko Yehova yatumye inzira yanje iroranirwa+. Nimundungike, nje kwa databuja+.” 57 Nuko bavuga bati: “Reka duhamagare uwo mwigeme twumve irimuva mu kanwa+.” 58 Maze bahamagara Rebeka, bamubwira bati: “Uremera kujana n’uyu mugabo?” Na we ati: “Ndemeye kugenda+.”
59 Nuko barungika Rebeka+ mushiki wabo n’umurezi wiwe+ n’umusuku wa Aburahamu n’abantu biwe. 60 Bahezagira Rebeka bamubwira bati: “Ewe mushiki wacu, ucike ibihumbi incuro ibihumbi cumi, kandi uruvyaro rwawe rwigarurire irembo ry’abarwanka+.” 61 Hanyuma Rebeka n’abasukukazi biwe+ barahaguruka burira ku ngamiya+ hanyuma bakurikira nya mugabo; nuko nya musuku atora Rebeka araheza afata inzira.
62 Kandi Izahaki yari yazananye inzira ija i Beyeri-lahayi-royi+, kuko yaba mu gihugu ca Negebu+. 63 Izahaki yari yasohotse kuzirikana+ mu gahinga, nko ku kagoroba. Araramuye amaso akaraba, abona ingamiya ziriko ziraza! 64 Rebeka araramuye amaso, abona Izahaki maze asimbira hasi avuye ku ngamiya. 65 Hanyuma abwira nya musuku ati: “Urya mugabo ariko agendagenda mu gahinga aza guhura natwe ni nde?” Nya musuku na we avuga ati: “Ni databuja.” Nuko afata impuzu yo mu mutwe, aritwikira+. 66 Nya musuku atangura kwiganira Izahaki ibintu vyose yari yakoze. 67 Inyuma y’ivyo Izahaki yinjiza Rebeka mw’ihema rya Sara nyina wiwe+. Gutyo yabira Rebeka, acika umugore wiwe+; aramukunda+, Izahaki aronka uruhoza inyuma y’aho aburiye nyina+.
25 Vyongeye, Aburahamu yongera kwabira umugore, uno akaba yitwa Ketura+. 2 Mu nyuma amuvyarira Zimurani na Yokishani na Medani na Midiyani+ na Ishibaki na Shuwa+.
3 Yokishani na we avyara Sheba+ na Dedani+.
Bene Dedani na bo baba Ashurimu na Letushimu na Leyumimu.
4 Bene Midiyani na bo bari Efa+ na Eferi na Hanoki na Abida na Eludaya+.
Abo bose bari bene Ketura.
5 Mu nyuma Aburahamu aha Izahaki ikintu cose yari afise+, 6 mugabo abahungu b’incoreke Aburahamu yari afise, abaha ingabirano+. Maze akiri muzima, abarungika kure ya Izahaki umuhungu wiwe+, amaja mu buseruko, mu gihugu c’Ubuseruko+. 7 Iyi ni yo misi y’imyaka ubuzima bwa Aburahamu bwamaze, iyo yabayeho: imyaka ijana na mirongo irindwi n’itanu. 8 Maze Aburahamu aracikana, apfa yisaziye neza, ashaje kandi aheze akanyota, ahamvya ab’iwabo+. 9 Nuko Izahaki na Ishimayeli abahungu biwe bamuhamba mw’isenga ry’i Makipela, mw’itongo rya Efuroni umuhungu wa Zohari Umuheti riri imbere ya Mamure+, 10 rya tongo Aburahamu yari yaraguze na bene Heti. Aho ni ho Aburahamu yahambwe, be na Sara umugore wiwe+. 11 Inyuma y’urupfu rwa Aburahamu, Imana ibandanya guhezagira Izahaki umuhungu wiwe+, kandi Izahaki yaba hafi ya Beyeri-lahayi-royi+.
12 Kandi aka ni ko kahise ka Ishimayeli+ mwene Aburahamu, uwo Hagari Umunyamisirikazi, wa musukukazi wa Sara, yavyariye Aburahamu+.
13 Kandi aya ni yo mazina ya bene Ishimayeli, hakurikijwe amazina yabo, nk’uko amamuko y’imiryango yabo ari: Imfura ya Ishimayeli ari yo Nebayoti+, na Kedari+ na Adibeyeli na Mibusamu+ 14 na Mishima na Duma na Masa, 15 Hadadi+ na Tema+, Yeturi, Nafishi na Kedema+. 16 Abo ni bo bene Ishimayeli, kandi ayo ni yo mazina yabo hakurikijwe ibigo vyabo kandi hakurikijwe amakambi yabo azitijwe impome+: abakuru cumi na babiri nk’uko imiryango yabo iri+. 17 Iyi ni yo myaka y’ubuzima bwa Ishimayeli: imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi. Nuko aracikana, arapfa, hanyuma ahamvya ab’iwabo+. 18 Nuko batangura kugenda barashinga ikambi kuva i Havila+ hafi ya Shuri+, ahari imbere ya Misiri, gushika i Ashuri. Aba imbere ya bene wabo bose+.
19 Kandi aka ni ko kahise ka Izahaki mwene Aburahamu+.
Aburahamu yavyaye Izahaki. 20 Izahaki yari afise imyaka mirongo ine igihe yabira Rebeka umukobwa wa Betuweli+ Umusiriya+ w’i Padani-aramu, mushiki wa Labani Umusiriya, akamugira umugore. 21 Nuko Izahaki aguma yinginga Yehova canecane ku bw’umugore wiwe+, kuko yari ingumba+; Yehova yemera rero kwingingwa ku bwa Izahaki+, maze Rebeka umugore wiwe aribungenga. 22 Nuko abana bari mu nda yiwe batangura kunyinyana+, ku buryo avuga ati: “Nimba uku ari ko biri, none mbereyeho iki?” Aca aja gusiguza Yehova+. 23 Yehova amubwira rero ati: “Hari amahanga abiri mu nda yawe+, kandi amahanga abiri avuye imbere muri wewe azotandukana+; ihanga rimwe rizokomera kuruta iryo rindi hanga+, kandi Bukuru azokorera Butoyi+.”
24 Amaherezo imisi yiwe yo kwibaruka irakwira, kandi ehe mu nda yiwe hari amahasa+. 25 Maze uwa mbere arasohoka atukura hose nk’impuzu y’ibango y’ubwoya+; nuko bamwita Esawu+. 26 Inyuma y’ivyo mwene wabo arasohoka, kandi ukuboko kwiwe kwari gufashe igitsintsiri ca Esawu+; nuko amwita Yakobo+. Kandi Izahaki yari afise imyaka mirongo itandatu igihe Rebeka yabibaruka.
27 Nya bana barakura, Esawu acika umugabo azi guhiga+, umugabo w’ishamba, mugabo Yakobo acika umugabo atagirako umugayo+, aba mu mahema+. 28 Izahaki yakunda Esawu kuko yama amuronsa akanyama k’ishamba arya, mu gihe Rebeka we yakunda Yakobo+. 29 Igihe kimwe Yakobo ariko arateka isupu, Esawu araza avuye mw’ishamba, kandi yari arushe. 30 Nuko Esawu abwira Yakobo ati: “Ndakwinginze, nyarutsa, umpe utwo mira kuri ivyo bitukura, ivyo nyene bitukura, kuko ndushe!” Ni co catumye yitwa Edomu+. 31 Yakobo na we avuga ati: “Banza ungurisheko uburenganzira bwawe bw’imfura+!” 32 Esawu na we abandanya ati: “Ehe karabaye ngira mpfe, none uburenganzira bw’imfura bumariye iki?” 33 Maze Yakobo yongerako ati: “Banza undahire+!” Nuko aramurahira kandi agurisha kuri Yakobo uburenganzira bwiwe bw’imfura+. 34 Yakobo araheza aha Esawu umukate n’isupu y’inkore, uno na we atangura kurya no kunywa+. Maze arahaguruka arigira. Ukwo ni ko Esawu yasuzuguye uburenganzira bwiwe bw’imfura+.
26 Nuko haduka ikigoyi mu gihugu, uretse ca kigoyi ca mbere caba mu misi ya Aburahamu+, ku buryo Izahaki agenda yerekeza i Gerari+ kwa Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya. 2 Maze Yehova aramubonekera, avuga ati+: “Ntumanuke mu Misiri. Nucumbike mu gihugu nkwereka+. 3 Nube muri iki gihugu uri kavamahanga+, nanje nzogumana nawe nteko nguhezagire, kuko wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose+, kandi nzoshitsa indahiro narahiye Aburahamu so+; 4 ‘Nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, kandi nzoha uruvyaro rwawe ibi bihugu vyose+; kandi biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro+,’ 5 kuko Aburahamu yumvirije ijwi ryanje kandi akabandanya gushitsa ivyo nasavye, amategeko yanje, ivyagezwe vyanje, n’amabwirizwa yanje+.” 6 Izahaki abandanya rero kuba i Gerari+.
7 Nuko abagabo b’aho hantu baguma babaza ivy’umugore wiwe, na we akavuga ati: “Ni mushikanje+.” Kuko yatinya kuvuga ngo: “Ni umugore wanje,” yibwira ati: “Abagabo b’aha hantu bonyica kubera Rebeka,” kuko yari ateye igomwe+. 8 Nuko, ariko aramara imisi ng’aho, hashika ibi: Abimeleki umwami w’Abafilisitiya yariko ararabira mw’idirisha yongera yitegereza, maze abona Izahaki ariko ariryohera hamwe na Rebeka umugore wiwe+. 9 Ako kanya Abimeleki ahamagara Izahaki maze avuga ati: “Bwa bundi ni umugore wawe! Kubera iki none wavuze ngo: ‘Ni mushikanje’?” Izahaki na we amubwira ati: “Nabivuze ku gutinya ko nopfa kubera we+.” 10 Mugabo Abimeleki abandanya ati: “Ibi wadukoreye ni ibiki+? Hari hasigaye gato umwe mu bantu akaryamana koko n’umugore wawe, kandi wari kuba utumye twagirwa n’icaha+!” 11 Maze Abimeleki ategeka abantu bose ati: “Uwo wese azokora kuri uyu mugabo n’umugore wiwe ntazobura kwicwa!”
12 Mu nyuma Izahaki atangura kubiba imbuto muri ico gihugu+, muri uwo mwaka aronka ingero ijana ku ngero imwimwe+, kuko Yehova yamuhezagira+. 13 Ku bw’ivyo rero nya mugabo aba uwuhambaye kandi agenda arushiriza gutera imbere no kuba uwuhambaye, gushika abaye uwuhambaye rwose+. 14 Maze arahava agira imikuku y’intama n’amasho y’inka n’umugwi munini w’abasuku+, ku buryo Abafilisitiya batangura kumugirira agashari+.
15 Nayo amariba yose abasuku ba se bari barimvye mu misi ya Aburahamu se wiwe+, ano Abafilisitiya barayazibira: baza barayuzuzamwo ivu ryumye+. 16 Amaherezo Abimeleki abwira Izahaki ati: “Genda uve mu kibano cacu, kuko usigaye uhambaye rwose kuturuta+.” 17 Izahaki ava rero ng’aho maze ashinga ikambi mu mwonga wa Gerari+, abayo. 18 Nuko Izahaki asubira kwimba ya mariba y’amazi bari barimvye mu misi ya Aburahamu se wiwe mugabo Abafilisitiya bakayazibira inyuma y’urupfu rwa Aburahamu+; asubira kuyita ya mazina nyene se wiwe yari yarayise+.
19 Abasuku ba Izahaki babandanya kwimba muri nya mwonga, bahasanga iriba ry’amazi meza. 20 Nuko abungere b’i Gerari baja mu vyo gutongana n’abungere ba Izahaki+, bavuga bati: “Ayo mazi ni ayacu!” Ku bw’ivyo iryo riba aryita Eseki, kuko bari bagiye impari na we. 21 Bimba irindi riba, maze baja mu vyo kuritonganira na ryo nyene. Ku bw’ivyo aryita Sitina. 22 Mu nyuma ava ng’aho hanyuma yimba irindi riba+, mugabo ntibaritonganira. Ku bw’ivyo aryita Rehoboti maze avuga ati: “Ni kubera ko ubu Yehova yaduhaye ikibanza cagutse rwose+ kandi agatuma turondoka mw’isi+.”
23 Maze araduga avuye ng’aho aja i Beyeri-sheba+. 24 Nuko Yehova aramubonekera muri iryo joro, avuga ati: “Ndi Imana ya Aburahamu so+. Ntutinye+, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguhezagira nongere ngwize uruvyaro rwawe kubera Aburahamu umusavyi wanje+.” 25 Nuko Izahaki yubaka igicaniro ng’aho, yambaza izina rya Yehova+ kandi ahashinga ihema ryiwe+, maze abasuku biwe batangura kuhimba iriba.
26 Mu nyuma Abimeleki aza kuri we avuye i Gerari, ari kumwe na Ahuzati umugenzi somambike wiwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe+. 27 Nuko Izahaki ababwira ati: “Kubera iki mwaje iwanje kandi mwebwe ubwanyu mwaranyanse mukandungika nkava mu kibano canyu+?” 28 Na bo bavuga bati: “Twabonye neza yuko Yehova yabanye nawe+. Ku bw’ivyo twavuze duti: ‘Turakwinginze, indahiro y’ikibwirizwa gushitswa ibe hagati yacu+, hagati yacu nawe, kandi tugirane isezerano nawe+, 29 yuko utazodukorera ikibi na kimwe, nk’uko nyene tutagukozeko kandi tukagukorera iciza gusa, tukakurungika amahoro+. Ubu uri uwahezagiwe na Yehova+.’” 30 Maze abategurira inzimano bararya, baranywa+. 31 Umusi ukurikira mu gitondo bavyuka kare maze bahana indahiro+. Inyuma y’ivyo Izahaki arabarungika, bava iwe amahoro+.
32 Nuko kuri uwo musi abasuku ba Izahaki baza kumumenyesha ivyerekeye iriba bari bimvye+, bamubwira bati: “Twaronse amazi!” 33 Aryita rero Shiba. Ni co gituma izina ry’ico gisagara ari Beyeri-sheba+, gushika n’uyu musi.
34 Nuko Esawu ashikana imyaka mirongo ine. Maze yabira Yudita umukobwa wa Beyeri Umuheti be na Basemati umukobwa wa Eloni Umuheti+. 35 Batuntuza umutima wa Izahaki na Rebeka+.
27 Nuko Izahaki amaze gusaza, n’amaso yiwe akaba yarimwo ivyijiji ku buryo adashobora kubona+, ahamagara Esawu umuhungu wiwe mukuru, amubwira+ ati: “Mwananje!” Na we ati: “Ndi hano!” 2 Arabandanya ati: “Ehe ubu ndashaje+. Sinzi umusi nzopfirako+. 3 Ubu rero, ndakwinginze ufate ibikoresho vyawe, umutana wawe n’umuheto wawe, uje mw’ishamba umpigire akanyama k’ishamba+. 4 Maze untegurire imfungurwa zinovera, nka zimwe nkunda cane, uheze uzinzanire, hanyuma, aaa, ndye, kugira ndaguhezagire imbere y’uko mpfa+.”
5 Mugabo Rebeka yariko arumviriza igihe Izahaki yavugana na Esawu umuhungu wiwe. Nuko Esawu arasohoka aja mw’ishamba guhiga akanyama k’ishamba ngo akazane+. 6 Maze Rebeka abwira Yakobo umuhungu wiwe+ ati: “Ehe mpejeje kwumva so abwira Esawu mwene wanyu ngo: 7 ‘Nzanira akanyama k’ishamba maze untegurire imfungurwa zinovera, hanyuma, aaa, ndye, kugira ndaguhezagire imbere ya Yehova ntarapfa+.’ 8 Ubu rero mwananje, niwumvirize ijwi ryanje mu vyo ngutegeka+. 9 Ndakwinginze ugende mu busho undonderere imyagazi y’impene ibiri imeze neza, kugira ndayiteguriremwo so wawe imfungurwa zinovera, nka zimwe akunda cane. 10 Nawe uzizanire so wawe, azirye, kugira aguhezagire imbere y’uko apfa.”
11 Yakobo abwira Rebeka nyina wiwe ati: “Mugabo Esawu mwene wacu ni umugabo afise ubwoya, nanje nkaba ndi umugabo w’umubiri unyerera+. 12 Bite none dawe niyankorakora+? Nzoba nihaye agatwengo mu maso yiwe+, nikwegere umuvumo mu kibanza c’umuhezagiro+.” 13 Nuko nyina amubwira ati: “Umuvumo wovumwe abe ari jewe ujako, mwananje+. Kimwe gusa niwumvirize ijwi ryanje maze ugende, uyindonderere+.” 14 Nuko rero aragenda, arayirondera hanyuma ayizanira nyina wiwe, maze nyina wiwe ategura imfungurwa zinovera nk’izo se yakunda cane. 15 Inyuma y’ivyo Rebeka afata impuzu za Esawu umuhungu wiwe mukuru+, impuzu nziza kuruta izindi yari afise mu nzu+, azambika Yakobo umuhungu wiwe mutoyi+. 16 Nuko inshato za ya myagazi y’impene azishira ku maboko yiwe no ku gice kitariko umushatsi c’izosi ryiwe+. 17 Maze ashira mu kuboko kwa Yakobo umuhungu wiwe nya mfungurwa zinovera n’umukate yari yateguye+.
18 Yinjira iyo se ari maze avuga ati: “Da!” Na we ati: “Ndi hano! Uri nde ga mwananje?” 19 Yakobo abwira se wiwe ati: “Ndi Esawu imfura yawe+. Nakoze nk’uko wambwiye. Ndakwinginze uvyuke. Niwicare maze urye ku kanyama kanje k’ishamba, kugira umpezagire+.” 20 Nuko Izahaki abwira umuhungu wiwe ati: “Bigenze gute ngo ukaronke ningoga gutyo ga mwananje?” Na we ati: “Ni kubera ko Yehova Imana yawe yatumye gahura nanje.” 21 Maze Izahaki abwira Yakobo ati: “Ndakwinginze wegere kugira ndagukorakore mwananje, menye nimba uri vy’ukuri umuhungu wanje Esawu canke utari we+.” 22 Yakobo yegera rero Izahaki se wiwe, maze uno atangura kumukorakora, avuga ati: “Ijwi ni irya Yakobo, mugabo amaboko ni aya Esawu+.” 23 Ntiyamumenya, kuko amaboko yiwe yariko ubwoya nk’amaboko ya Esawu mwene wabo. Nuko aramuhezagira+.
24 Hanyuma avuga ati: “Uri umuhungu wanje Esawu vy’ukuri?” Na we ati: “Ndi we+.” 25 Maze avuga ati: “Bizane hafi yanje kugira ndye ku kanyama k’ishamba k’umuhungu wanje, kugira ndaguhezagire+.” Nuko abizana hafi yiwe na we atangura kurya, amuzanira n’umuvinyu atangura kunywa. 26 Maze Izahaki se wiwe amubwira ati: “Ndakwinginze wegere, unsome mwananje+.” 27 Aregera rero maze aramusoma, amotēra akamoto k’impuzu ziwe+. Nuko atangura kumuhezagira no kuvuga ati:
“Raba, akamoto k’umuhungu wanje kameze nk’akamoto k’ishamba Yehova yahezagiye. 28 Imana y’ukuri iguhe urume rwo mu majuru+ n’ivu rimera ry’isi+ n’intete nyinshi be n’umuvinyu mushasha+. 29 Ibisata vy’abantu nibigukorere n’imiryango y’amahanga ikwunamire+. Nucike shebuja wa bene wanyu, abana ba nyoko wawe bakwunamire+. Uwo mu bakuvuma wese avumwe, uwo mu baguhezagira wese na we ahezagirwe+.”
30 Nuko Izahaki akirangiza guhezagira Yakobo, egome, Yakobo akimara gusohoka avuye mu maso ya Izahaki se wiwe, Esawu mwene wabo aragaruka avuye guhiga+. 31 Na we nyene atangura gutegura imfungurwa zinovera. Maze azizanira se wiwe, amubwira ati: “Dawe navyuke arye ku kanyama k’ishamba k’umuhungu wiwe, kugira ampezagire+.” 32 Izahaki se wiwe aca amubwira ati: “Uri nde?” Na we ati: “Ndi umuhungu wawe, imfura yawe Esawu+.” 33 Izahaki aca atangura kudegedwa, arajugumira birenze, aca avuga ati: “Ni nde none yahize akanyama k’ishamba agaheza akaza akanzaniye, nkarya ku kintu cose imbere y’uko winjira kandi nkamuhezagira? Kandi azoba uwuhezagiwe+!”
34 Esawu yumvise amajambo ya se wiwe, atangura kuboroga n’ijwi rirenga n’intuntu nyinshi cane, abwira se wiwe+ ati: “Mpezagira na jewe nyene, da+!” 35 Mugabo avuga ati: “Mwene wanyu yazananye uruhendo kugira aronke umuhezagiro wari ukugenewe+.” 36 Na we avuga ati: “Si co gituma none yitwa Yakobo, kuko andengereye kabiri kose+? Uburenganzira bwanje bw’imfura aramaze kubutwara+, none ehe ubu na ho antwaye umuhezagiro+!” Yongerako ati: “Nta muhezagiro none wambikiye?” 37 Mugabo mu kwishura Esawu, Izahaki abandanya ati: “Ehe namugenye kuba shobuja+, kandi bene wabo bose nabamuhaye ngo bamubere abasuku+, kandi intete n’umuvinyu mushasha nabitanze ngo bimubesheho+, none ikindi nogukorera ni igiki ga mwananje?”
38 Maze Esawu abwira se wiwe ati: “None ufise umuhezagiro umwe gusa ga da? Mpezagira na jewe nyene da+!” Nuko Esawu ashira ijwi hejuru araturikisha ararira+. 39 Maze Izahaki se wiwe amwishura ati:
“Ehe uzoba kure y’ivu rimera ry’isi, no kure y’ikime co mu majuru hejuru+. 40 Uzobeshwaho n’inkota yawe+, kandi uzokorera mwene wanyu+. Mugabo, niwatangura kwinyugutura, uzovuna koko ingǒgo* yiwe ikuve kw’izosi+.”
41 Ariko Esawu abikira akazikira Yakobo kubera umuhezagiro se wiwe yari yamuhezagiye+, kandi Esawu aguma avuga mu mutima wiwe+ ati: “Imisi y’ikiringo co kugandarira dawe iriko iregereza+. Inyuma y’aho, nzokwica Yakobo mwene wacu+.” 42 Aho Rebeka abwiriwe amajambo ya Esawu umuhungu wiwe mukuru, aca atuma guhamagara Yakobo umuhungu wiwe mutoyi maze amubwira ati: “Ehe Esawu mwene wanyu ariko ahiga kukwihora*, ngo akwice+. 43 Ubu rero mwananje, umviriza ijwi ryanje uhaguruke+, uhungire kwa Labani musazanje i Harani+. 44 Kandi uze ubane na we igitigiri kanaka c’imisi gushika ubushangashirwe bwa mwene wanyu buhwamye+, 45 gushika ishavu rya mwene wanyu rivuye kuri wewe kandi yibagiye ivyo wamukoreye+. Nanje sinzobura gutuma kugukurayo. Kubera iki mwempi nobaburira umusi umwe?”
46 Inyuma y’ivyo Rebeka aguma abwira Izahaki ati: “Ndamaze kuzinukwa ubu buzima bwanje kubera abakobwa ba Heti+. Yakobo yoramuka arondereye umugore mu bakobwa ba Heti nk’aba, mu bakobwa bo mu gihugu, ubuzima bwoba bumariye iki+?”
28 Ku bw’ivyo rero Izahaki ahamagara Yakobo, aramuhezagira hanyuma amutegeka ati: “Ntuze wabire umugore mu bakobwa b’i Kanani+. 2 Haguruka, ugende i Padani-aramu ku nzu ya Betuweli se wa nyoko wawe, urondere umugore mu bakobwa ba Labani musaza wa nyoko wawe+. 3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi ntuzobura gucika ishengero ry’ibisata vy’abantu+. 4 Izoguha umuhezagiro wa Aburahamu+, wewe n’uruvyaro rwawe+, kugira wigarurire igihugu wabayemwo uri kavamahanga+, ico Imana yahaye Aburahamu+.”
5 Nuko Izahaki arungika Yakobo, maze uno aja i Padani-aramu, kwa Labani mwene Betuweli Umusiriya+, musaza wa Rebeka+, nyina wa Yakobo na Esawu+.
6 Esawu abonye ko Izahaki yari yahezagiye Yakobo akongera akamurungika i Padani-aramu kuronderayo umugore, kandi ko igihe yamuhezagira yamutegetse ati: “Ntuze urondere umugore mu bakobwa b’i Kanani+”; 7 kandi ko Yakobo yariko agamburukira se wiwe na nyina wiwe, akaba yariko aja i Padani-aramu+; 8 Esawu rero abona ko abakobwa b’i Kanani batari bahimbaye mu maso ya Izahaki se wiwe+. 9 Ku bw’ivyo Esawu aja kwa Ishimayeli maze yabira Mahalati umukobwa wa Ishimayeli mwene Aburahamu, mushiki wa Nebayoti, amugira umugore yiyongera ku bagore biwe bandi+.
10 Nuko Yakobo arabandanya avuye i Beyeri-sheba, aguma agenda i Harani+. 11 Mu nyuma aza abona ashitse ahantu kanaka, maze yiyemeza kuharara kuko izuba ryari ryarenze. Atora rero rimwe mu mabuye yaho, arishiraho ngo risegure umutwe wiwe, araheza aryama aho hantu+. 12 Nuko atangura kurota+, kandi ehe hari ingazi yari ihagaritswe kw’isi, isonga ryayo rikaba ryashika mu majuru; kandi ehe hari abamarayika b’Imana bariko bayidugako bongera bayimanukako+. 13 Kandi ehe Yehova yari hejuru yayo, maze atangura kuvuga+ ati:
“Ndi Yehova Imana ya Aburahamu so wawe n’Imana ya Izahaki+. Igihugu uryamyeko ngiye kugiha wewe n’uruvyaro rwawe+. 14 Uruvyaro rwawe ruzoba koko nk’udutete tw’umukungugu wo kw’isi+, kandi ata gukeka uzokwiragira mu burengero no mu buseruko no mu buraruko no mu bumanuko+, kandi biciye kuri wewe, biciye no ku ruvyaro rwawe, imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro+. 15 Kandi ehe ndi kumwe nawe; nzokuzigama mu nzira yose uriko ujana nongere ndakugarukane kuri ubu butaka+, kuko ntazoguta, gushika nkoze koko ivyo nakubwiye+.”
16 Maze Yakobo arikangura ava mw’itiro araheza avuga ati: “Vy’ukuri Yehova ari aha hantu, kandi jewe ubwanje sinari ndabizi.” 17 Agira ubwoba maze yongerako+ ati: “Ese ukuntu aha hantu hateye ubwoba+! Aha si ikindi atari inzu y’Imana+, kandi iri ni irembo ry’amajuru.” 18 Nuko Yakobo avyuka kare mu gitondo, afata rya buye ryari riseguye umutwe wiwe, arishinga bwa nkingi, maze asuka amavuta kw’isonga ryaryo+. 19 Vyongeye, aho hantu ahita Beteli*+; mugabo ikizwi coco ni uko Luzi ari ryo ryari izina ry’ico gisagara kera+.
20 Nuko Yakobo aragana indagano+, ati: “Imana niyagumana nanje kandi vy’ukuri ikanzigama kuri iyi nzira ndiko njana, ikampa vy’ukuri umukate wo kurya n’impuzu zo kwambara+ 21 kandi koko nkagaruka amahoro ku nzu ya dawe, Yehova azoba rero yerekanye ko ari Imana yanje+. 22 Kandi iri buye nashinze bwa nkingi rizocika inzu y’Imana+. Nayo ku vyerekeye ikintu cose uzompa, sinzobura kuguha ic’icumi caco+.”
29 Inyuma y’ivyo Yakobo ashingura ikirenge, abandanya kugenda aja mu gihugu c’Abanyabuseruko+. 2 Nuko aritegereza, abona iriba mw’ishamba, n’amasho y’intama atatu aryamye ng’aho iruhande yaryo, kuko kuri iryo riba ari ho bari basanzwe banywesha amasho+; kandi hari ibuye rinini ku munwa w’iryo riba+. 3 Amasho yose amaze gukoranira ng’aho, baratembagaza nya buye barikuye ku munwa w’iryo riba bagaheza bakanywesha imikuku, hanyuma bagasubiza nya buye ku munwa w’iryo riba, mu kibanza caryo.
4 Nuko Yakobo ababwira ati: “Bene wacu, muri aba he?” Na bo bati: “Turi ab’i Harani+.” 5 Maze ababwira ati: “Mwoba muzi Labani+ umwuzukuru wa Nahori+?” Na bo bati: “Turamuzi.” 6 Nuko ababwira ati: “Arisohora+?” Na bo bati: “Arisohora. Kandi ehe Rasheli+ umukobwa wiwe azananye n’intama+!” 7 Abandanya kuvuga ati: “Erega, umusi uracari wose. Ntiharagera gukoranya amasho. Nimunyweshe intama, maze muje kuziragira+.” 8 Na bo bavuga bati: “Ntitwemerewe kugira gutyo amasho yose atarakoranira hamwe, hanyuma bagatembagaza ibuye barikuye ku munwa w’iriba. Ni ho duheza tukanywesha intama.”
9 Akivugana na bo, Rasheli+ azanana n’intama za se, kuko yari umwungerekazi+. 10 Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani musaza wa nyina be n’intama za Labani musaza wa nyina, aca aregera maze atembagaza nya buye arikuye ku munwa wa nya riba, anywesha intama za Labani musaza wa nyina+. 11 Maze Yakobo asoma+ Rasheli, hanyuma ashira ijwi hejuru, araturikisha ararira+. 12 Nuko Yakobo atangura kubwira Rasheli yuko ari mwene wabo+ na se be n’uko ari umuhungu wa Rebeka. Rasheli aca yiruka kubibwira se+.
13 Labani acumva inkuru yerekeye Yakobo umuhungu wa mushikiwe, yiruka kumusanganira+. Maze aramugumbira yongera aramusoma, araheza amuzana mu nzu yiwe+. Nuko atangura kwiganira Labani ivyo bintu vyose. 14 Hanyuma Labani amubwira ati: “Uri koko igufa ryanje n’umubiri wanje+.” Nuko abana na we ukwezi kwuzuye.
15 Inyuma y’ivyo Labani abwira Yakobo ati: “Wewe uri mwene wacu+, hanyuma unkorere kuri gusa+? Mbwira: Impembo yawe izobe nyabaki+?” 16 Kandi Labani yari afise abakobwa babiri. Umukuru yitwa Leya+, umuto na we akitwa Rasheli. 17 Mugabo amaso ya Leya ntiyakayangana, mu gihe Rasheli+ we yari mwiza ku mubiri akaba na mwiza mu maso+. 18 Yakobo yarakunda Rasheli. Avuga rero ati: “Nditeguriye kugukorera imyaka indwi ngo umpe Rasheli umukobwa wawe mutoyi+.” 19 Labani na we avuga ati: “Kumuguha bindutira kumuha uwundi mugabo+. Gumana nanje.” 20 Yakobo akora imyaka indwi ngo aze ahabwe Rasheli+, mugabo mu maso yiwe iba nk’imisi mikeya kubera urukundo yamukunda+.
21 Maze Yakobo abwira Labani ati: “Mpa umugore wanje, kuko imisi yanje ikwiye, ndyamane na we+.” 22 Nuko Labani akoranya abagabo bose b’aho hantu, atereka inzimano+. 23 Mugabo ku mugoroba afata Leya umukobwa wiwe aramumuzanira ngo baryamane. 24 Vyongeye, Labani amuha Zilupa+ umusukukazi wiwe, egome, amuha Leya umukobwa wiwe, ngo amubere umusukukazi. 25 Mu gitondo aravye, asanga ni Leya. Ku bw’ivyo rero abwira Labani ati: “Ibi wangiriye ni ibiki? Mbega sinagukoreye ngo umpe Rasheli? Kubera iki none wampenze+?” 26 Labani na we avuga ati: “Iwacu si ukwo bigenda, gutanga umwigeme muto imbere y’imfura. 27 Himbaza+ iyinga y’uyu mugore uyirangize. Inyuma y’aho uzohabwa n’uwo wundi mugore ku bw’igikorwa uzonkorera iyindi myaka indwi+.” 28 Nuko rero Yakobo agira gutyo, ahimbaza iyinga y’uwo mugore arayirangiza, hanyuma Labani amuha Rasheli umukobwa wiwe ngo amubere umugore. 29 Vyongeye, Labani aha umukobwa wiwe Rasheli umusukukazi wiwe Biluha+ ngo amubere umusukukazi.
30 Maze aryamana na Rasheli na we nyene, yongera kandi akunda Rasheli kuruta Leya+, aherako akorera Labani n’iyindi myaka indwi+. 31 Yehova abonye ko Leya yankwa, yugurura rero igitereko ciwe+, mugabo Rasheli yari ingumba+. 32 Leya aribungenga hanyuma avyara umuhungu, amwita Rubeni+, kuko yavuga ati: “Ni kubera yuko Yehova yitegereje amarushwa yanje+, kuko ubu umugabo wanje azotangura kunkunda.” 33 Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ni kubera yuko Yehova yumvirije+, kuko nari uwankwa, araheza rero ampa n’uyu.” Ku bw’ivyo amwita Simeyoni+. 34 Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ubu noneho umugabo wanje azonyiyungako, kuko namuvyariye abahungu batatu.” Ku bw’ivyo bamwita Lewi+. 35 Yongera kwibungenga, hanyuma avyara umuhungu, maze avuga ati: “Ubu nzohaya Yehova.” Ku bw’ivyo amwita Yuda+. Inyuma y’aho areka kwibaruka.
30 Rasheli abonye ko ata co yari yaravyariye Yakobo, agirira ishari mwene wabo, maze atangura kubwira Yakobo+ ati: “Mpa abana, ahandiho nzoba nk’umugore apfuye+.” 2 Ishavu rya Yakobo rica rirurumbira Rasheli, maze avuga ati+: “Mbega ndi mu kibanza c’Imana, yo yakwimye abana+?” 3 Nuko avuga ati: “Ng’uyu umushumbakazi wanje Biluha+. Nuryamane na we, kugira yibarukire ku mavi yanje no kugira na jewe ndamuronkeko abana+.” 4 Nuko amuha Biluha umusukukazi wiwe ngo amubere umugore, Yakobo araheza aryamana na we+. 5 Biluha aribungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu+. 6 Maze Rasheli avuga ati: “Imana yambereye umucamanza+ yongera yumviriza ijwi ryanje, bituma impa umuhungu.” Ni co catumye amwita Dani+. 7 Biluha umusukukazi wa Rasheli yongera kwibungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Maze Rasheli avuga ati: “Naniganye na mwene wacu ukunigana kw’inguvu. Kandi natahukanye intsinzi!” Nuko amwita Nafutali+.
9 Leya abonye ko yaretse kwibaruka, afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Yakobo ngo amubere umugore+. 10 Mu nyuma, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu. 11 Maze Leya avuga ati: “Ni amahirwe!” Nuko amwita Gadi+. 12 Inyuma y’ivyo, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13 Maze Leya avuga ati: “Ndahiriwe! Kuko abakobwa batazobura kunyita umuhirwe+.” Amwita rero Asheri+.
14 Nuko Rubeni+ agenda gutembera mu misi y’iyimbura ry’ingano+ maze aronka amadudayimu mu gahinga. Ayazanira rero Leya nyina wiwe. Maze Rasheli abwira Leya ati: “Ndakwinginze umpe ku madudayimu+ y’umuhungu wawe.” 15 Na we amubwira ati: “Mbega ni ikintu gitoyi kuba warantwaye umugabo+, ubu na ho ngo utware n’amadudayimu y’umuhungu wanje?” Rasheli avuga rero ati: “Ku bw’ico araza kuryamana nawe iri joro bikabwe amadudayimu y’umuhungu wawe.”
16 Yakobo ariko araza avuye mu gahinga ku mugoroba+, Leya asohoka kumusanganira maze avuga ati: “Uza kuryamana nanje, kuko nagutangiye ingwati y’amadudayimu y’umuhungu wanje.” Nuko aryamana na we iryo joro+. 17 Nuko Imana yumva Leya yongera iramwishura maze aribungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu+. 18 Maze Leya avuga ati: “Imana yampaye impembo y’umucangero, kuko umugabo wanje namuhaye umusukukazi wanje.” Amwita rero Isakari+. 19 Leya yongera kwibungenga, mu nyuma avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu+. 20 Maze Leya avuga ati: “Emwe, jewe Imana yangabiye ingabirano nziza. Noneho umugabo wanje azonyihanganira+, kuko namuvyariye abahungu batandatu+.” Amwita rero Zebuloni+. 21 Mu nyuma avyara umukobwa araheza amwita Dina+.
22 Amaherezo Imana yibuka Rasheli, maze iramwumva yongera iramwishura mu kwugurura igitereko ciwe+. 23 Aribungenga hanyuma avyara umuhungu. Maze avuga ati: “Imana yakuyeho iceyi canje+!” 24 Nuko amwita Yozefu+, mu kuvuga ati: “Yehova anyongeye uwundi muhungu.”
25 Rasheli amaze kwibaruka Yozefu, Yakobo aca abwira Labani ati: “Ndungika ngende ahantu hanje mu gihugu canje+. 26 Mpa abagore banje n’abana banje, abo nakoreye iwawe, kugira ngende; kuko wewe ubwawe uzi neza igikorwa nagukoreye+.” 27 Maze Labani amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, . . . . Nabonye ko ibimenyetso bitara ibizoba vyerekana yuko Yehova ariko arampezagira kubera wewe+.” 28 Yongerako ati: “Nshingira impembo yawe nanje nzoyitanga+.” 29 Amubwira rero ati: “Wewe ubwawe urazi neza ingene nagukoreye n’ingene ubusho bwawe bwamerewe buri kumwe nanje+, 30 yuko ivyo wari ufise imbere y’uko nza vyari bike, be n’uko vyagiye biragwira gushika aho biba indiri, kubera yuko Yehova yaguhezagiye kuva nshitse+. None nzogira ico nkorera inzu yanje bwite ryari+?”
31 Maze avuga ati: “None nzoguhe iki?” Yakobo na we asubizayo ati: “Nta na kimwe uzompa+! Niwangirira iki kintu, nzosubira kuragira umukuku wawe+. Nzobandanya kuwurinda+. 32 Ndaza guca mu mukuku wawe wose uno musi. Ushire ku ruhande intama yose y’utudorodonzi kandi ifise amabara y’ibirabagu, n’intama yose y’inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto be n’iyo ari yo yose y’amabara y’ibirabagu n’utudorodonzi mu mpene zivyara. Guhera ubu, iyo ni yo izoba impembo yanje+. 33 Kandi ugukora ibigororotse kwanje kuzonyishurira ku musi uwo ari wo wose wo muri kazoza wewe uzoza kwihweza impembo+ yanje; iyo yose itagira utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu mu mpene zivyara be n’iyitari inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto, niyaba iri iwanje, izoba ari ikintu cibwe+.”
34 Kuri ivyo Labani avuga ati: “Ni vyiza! Biraba nk’uko ubivuze+.” 35 Maze kuri uwo musi Labani ashira ku ruhande amasuguru y’uturongorongo n’amabara y’ibirabagu be n’impene zivyara zose z’utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu, iyo yose yariko ibara ryera iryo ari ryo ryose be n’iyo yose y’inginagina izize mu mpfizi z’intama zikiri nto, mugabo azishira mu maboko y’abahungu biwe. 36 Inyuma y’ivyo Labani ashira umwanya hagati yiwe na Yakobo w’urugendo rw’imisi itatu. Yakobo yaragira imikuku ya Labani yari isigaye.
37 Maze Yakobo afata inkoni zikiri mbisi z’igiti c’umulivuni+ n’iz’igiti ca shakedi+ n’iz’igiti c’umwarumoni+ kugira azikoreshe, hanyuma ashishagura kuri zo utudorodonzi dushishaguwe twera mu gushira ahabona ahantu hera hari kuri izo nkoni+. 38 Amaherezo nya nkoni yari yashishaguye azishira imbere y’umukuku, mu migazo, mu mato ibitungwa binyweramwo+ amazi, aho imikuku yaza kunywa, kugira ishuhire* imbere ya nya nkoni igihe ije kunywa.
39 Ku bw’ivyo rero imikuku yarashuha iri imbere ya nya nkoni, maze nya mikuku ikavyara iz’uturongorongo, utudorodonzi n’amabara y’ibirabagu+. 40 Nuko Yakobo atandukanya impfizi z’intama zikiri nto araheza ahindukiriza mu maso h’imikuku ku z’uturongorongo n’iz’inginagina izize zose zo mu mikuku ya Labani. Maze ashira amasho yiwe ukwayo, ntiyayashira iruhande y’imikuku ya Labani. 41 Igihe cose imikuku y’inguvu+ ishushe, Yakobo yaca ashira nya nkoni mu migazo+, mu maso y’imikuku, kugira ishuhire hafi y’izo nkoni. 42 Mugabo igihe imikuku yerekanye ubugoyagoye ntiyazishira ng’aho. Izigoyagoya rero zama ziba iza Labani, mugabo iz’inguvu zikaba iza Yakobo+.
43 Nuko uwo mugabo agenda arushiriza gusagamba, agira imikuku myinshi n’abasukukazi n’abasuku n’ingamiya n’indogobwa+.
31 Mu nyuma Yakobo yumva amajambo ya bene Labani ngo: “Yakobo yatwaye ikintu cose cari ica data; kandi ubu butunzi bwose yaburundanije abukuye ku vyari ivya data+.” 2 Yakobo aravye mu maso ha Labani, yabona ko atakimuraba ryiza nka kera+. 3 Amaherezo Yehova abwira Yakobo ati: “Subira mu gihugu ca ba so no ku ncuti zawe+, nanje nzogumana nawe+.” 4 Nuko Yakobo atuma guhamagara Rasheli na Leya ngo baze mu gahinga aho umukuku wiwe uri, 5 araheza ababwira ati:
“Ndabona mu maso ha so, yuko atakimereye nka kera+; mugabo Imana ya dawe yabaye kumwe nanje+. 6 Namwe ubwanyu murazi neza yuko nakoreye so n’inkomezi zanje zose+. 7 So yarankinye, ahindura impembo yanje incuro cumi, mugabo Imana ntiyamwemereye kungirira nabi+. 8 Iyo avuze ati: ‘Iz’utudorodonzi ni zo zizocika impembo yawe,’ umukuku wose waca uzana iz’utudorodonzi; yavuga na ho ati: ‘Iz’uturongorongo ni zo zizocika impembo yawe,’ umukuku wose waca uzana iz’uturongorongo+. 9 Imana yaguma rero itwara ubusho bwa so ikabumpa+. 10 Amaherezo, igihe umukuku washuha, narararamuye amaso maze mbona ibiraho mu ndoto+: ehe amasuguru yariko yurira umukuku yari ay’uturongorongo, utudorodonzi n’utudomagu+. 11 Maze umumarayika w’Imana y’ukuri ambwira muri iyo ndoto ati: ‘Yakobo!’ Nanje nti: ‘Ndi hano+.’ 12 Nuko abandanya ati: ‘Ndakwinginze uraramure amaso urabe: amasuguru yose ariko yurira umukuku ni ay’uturongorongo, utudorodonzi n’utudomagu, kuko nabonye ivyo Labani ariko akugirira vyose+. 13 Ndi Imana y’ukuri y’i Beteli+, hamwe warobanuza inkingi+ amavuta* hakaba ari na ho wandaganiye indagano+. Ubu haguruka, uve muri iki gihugu, usubire mu gihugu cawe c’amavukiro+.’”
14 Nuko Rasheli na Leya barishura, bamubwira bati: “Mbega hari umuturi w’intoranwa tugifise mu nzu ya data+? 15 Mbega ntitubonwa koko nk’abanyamahanga kuri we, kuko yatugurishije, ku buryo aguma arya ubudahengeshanya n’amahera yatanzwe ku bwacu+? 16 Kuko ubutunzi bwose Imana yatwaye data ari ubwacu n’abana bacu+. Ubu rero ikintu cose Imana yakubwiye, gikore+.”
17 Maze Yakobo arahaguruka, yuriza abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya+; 18 hanyuma atangura gushorera ubusho bwiwe bwose n’ibintu vyose yari yararundanije+, ubusho yironkeje, ubwo yari yararundanije i Padani-aramu, kugira agende kwa Izahaki se wiwe mu gihugu ca Kanani+.
19 Labani yari yagiye gukemura intama ziwe. Muri ico gihe Rasheli yiba terafimu*+ za se. 20 Gutyo Yakobo agira amayeri kuri Labani Umusiriya, kuko atari yamubwiye yuko agira ahunge. 21 Nuko arahunga, arahaguruka ajabuka rwa Ruzi+, we n’ivyo yari afise vyose. Inyuma y’ivyo yerekeza* mu karere k’imisozi ka Gileyadi+. 22 Mu nyuma, ku musi ugira gatatu, Labani abwirwa yuko Yakobo yahunze. 23 Aca atora bene wabo, aramukurikira+ ahareha n’urugendo rw’imisi indwi araheza amuhambiriza mu karere k’imisozi ka Gileyadi. 24 Maze Imana iza kuri Labani Umusiriya+ mu ndoto mw’ijoro+, imubwira iti: “Wiyubare ntuvugane na Yakobo ineza canke inabi+.”
25 Nuko Labani yegera Yakobo, mu gihe Yakobo yari yashinze ihema ryiwe ku musozi, Labani na we akaba yari yashingiye ikambi bene wabo mu karere k’imisozi ka Gileyadi. 26 Maze Labani abwira Yakobo ati: “Wakoze iki, mu kuba wangizeko amayeri ugashorera abakobwa banje nk’imbohe zafashwe biciye ku nkota+? 27 Kubera iki wahunze mu mpisho ukangirako amayeri kandi ntumbwire, kugira ndakurungikane umunezero n’indirimbo+, n’akagoma n’inanga+? 28 Kandi ntiwampaye akaryo ko gusoma abana banje n’abakobwa banje+. Wagize rero ivy’ubupfu. 29 Ukuboko kwanje kurafise ububasha bwo kubagirira nabi+, mugabo Imana ya so yambwiye muri iri joro iti: ‘Wiyubare ntuvugane na Yakobo ineza canke inabi+.’ 30 Naho data wagiye koko, kuko wari ushashaye cane inzu ya so, kubera iki none wivye imana zanje+?”
31 Yakobo yishura Labani ati: “Ni kubera natinye+. Kuko nibwiye nti: ‘Hari aho wonshikura abakobwa bawe.’ 32 Uwo wese usangana imana zawe, ntabeho+. Imbere ya bene wacu, nusake mu vyo mfise maze uzitorere+.” Mugabo Yakobo ntiyari azi ko Rasheli yari yazivye+. 33 Nuko Labani yinjira mw’ihema rya Yakobo no mw’ihema rya Leya no mw’ihema rya ba bashumbakazi babiri+, mugabo ntiyazironka. Amaherezo arasohoka ava mw’ihema rya Leya hanyuma yinjira mw’ihema rya Rasheli. 34 Mugabo Rasheli yari yatwaye nya terafimu; azishira rero mu gisimbo c’itandiko ry’ingamiya ry’abagore, aca aguma azicayeko. Nuko Labani atangura gukabakaba mw’ihema ryose, mugabo ntiyazironka. 35 Maze Rasheli abwira se wiwe ati: “Ishavu ntirirurumbe mu maso y’umukama wanje+, kuko ntashoboye guhaguruka imbere yawe, kubera ko igisanzwe kiba ku bagore kiri kuri jewe+.” Nuko abandanya gusaka yitonze, mugabo ntiyaronka nya terafimu+.
36 Nuko Yakobo arashavura+, atangura gutongana na Labani, maze Yakobo yishura Labani ati: “Umugararizo nagize ni uwuhe+, kandi igicumuro nakoze ni ikihe, aho unkurikirana warakaye+? 37 Ubu none ko wakabakavye ibintu vyanje vyose, hari ico watoye mu bintu vyose vyo mu nzu yawe+? Gishire aha imbere ya bene wacu na bene wanyu+, baruce hagati ya twebwe babiri+. 38 Maranye nawe iyi myaka mirongo ibiri. Intama zawe zivyara n’impene zawe zivyara ntizaramburuye+, kandi sinigeze ndya impfizi z’intama zo mu mukuku wawe. 39 Sinakuzaniye igitungwa na kimwe catabaguwe n’igikoko+. Ni jewe ubwanje nemera kugihomba. Hagize icibwa ku murango canke icibwa mw’ijoro, warakinyishuza+. 40 Jewe nari umuntu ubushuhe bwayigiza ku murango, imbeho na yo mw’ijoro, n’itiro ryanje rigahunga amaso yanje+. 41 Iyi ibaye imyaka mirongo ibiri ndi mu nzu yawe. Nagukoreye imyaka cumi n’ine ku bw’abakobwa bawe babiri, n’imyaka itandatu ku bw’umukuku wawe, kandi wahinduye impembo yanje incuro cumi+. 42 Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu ikaba n’Imana Izahaki+ yatinya*, iyo itaba yarabaye ku ruhande rwanje, ubu wari kuba undungitse iminwe misa. Imana yarabonye uburushwa bwanje n’ubucumukure bw’ibiganza vyanje, ikaba rero yagukangiriye mw’ijoro ryakeye+.”
43 Maze Labani mu kwishura abwira Yakobo ati: “Abo bakobwa ni abakobwa banje, n’abo bana ni abana banje, n’uyo mukuku ni umukuku wanje, kandi ikintu cose ubona ni icanje n’abakobwa banje. Ni igiki uno musi nogira bano canke abana bavyaye? 44 Ubu rero, ingo tugirane isezerano+, jewe nawe, kandi rizoba icabona hagati yanje nawe+.” 45 Nuko rero Yakobo afata ibuye, arishinga bwa nkingi+. 46 Maze Yakobo abwira bene wabo ati: “Nimutore amabuye!” Nuko batora amabuye, bagira ikirundo+. Inyuma y’ivyo barira ng’aho kuri nya kirundo. 47 Nuko Labani acita Yegari-sahaduta, mugabo Yakobo acita Galeyedi.
48 Nuko Labani avuga ati: “Iki kirundo ni icabona hagati yanje nawe uno musi.” Ni co catumye acita Galeyedi+, 49 be n’Umunara w’Inderetsi, kuko yavuze ati: “Yehova agume areretse hagati yanje nawe nitwaba turi aho umwe atabona uwundi+. 50 Niwacumukuza abakobwa banje+ kandi ukabira abagore biyongereye ku bakobwa banje, nta muntu ari kumwe natwe. Raba! Imana ni icabona hagati yanje nawe+.” 51 Nuko Labani yongera kubwira Yakobo ati: “Ng’iki ikirundo kandi ng’iyi inkingi nahagaritse hagati yanje nawe. 52 Iki kirundo ni icabona, inkingi na yo ni ikintu gishinga intahe+, yuko ntazorengana iki kirundo nje kukugirira nabi, kandi yuko utazorengana iki kirundo n’iyi nkingi uje kungirira nabi+. 53 Reka imana ya Aburahamu+ ikaba n’imana ya Nahori+ ice urubanza hagati yacu, imana ya se.” Mugabo Yakobo arahira Imana se Izahaki yatinya*+.
54 Inyuma y’ivyo Yakobo ashikana ikimazi muri nya musozi, maze atumira bene wabo kurya umukate+. Nuko barya umukate baraheza barara muri uwo musozi. 55 Ariko Labani avyuka kare mu gitondo, asoma+ abana biwe n’abakobwa biwe yongera arabahezagira+. Maze Labani afata inzira kugira asubire ahantu hiwe+.
32 Yakobo na we afata inzira; hanyuma abamarayika b’Imana bahura na we+. 2 Yakobo ababonye, buno nyene avuga ati: “Iyi ni ikambi y’Imana+!” Ku bw’ivyo aho hantu ahita Mahanayimu+.
3 Maze Yakobo atuma intumwa+ imbere yiwe kuri Esawu mwene wabo mu gihugu ca Seyiri+, akarere ka Edomu+, 4 azitegeka ati: “Ibi ni vyo muri bubwire umukama wanje+ Esawu, muti: ‘Umusavyi wawe Yakobo avuze ati: “Nabanye na Labani ndi kavamahanga, marayo igihe kirekire gushika ubu+. 5 Nsigaye mfise amashūri n’indogobwa, intama, n’abasuku n’abasukukazi+, nkaba nagomba gutuma kubimenyesha umukama wanje, kugira ngire ubutoni mu maso yawe+.”’”
6 Mu nyuma izo ntumwa zigaruka kuri Yakobo, zivuga ziti: “Twashitse kuri mwene wanyu Esawu, kandi na we nyene ari mu nzira aza guhura nawe, ari kumwe n’abagabo amajana ane+.” 7 Nuko Yakobo aratinya cane, agira amaganya+. Agabura rero abantu bari kumwe na we, n’imikuku n’inka n’ingamiya mu makambi abiri+, 8 maze avuga ati: “Esawu niyaza kw’ikambi imwe akayitera, ntihazobura rero ikambi isigara igahunga+.”
9 Inyuma y’ivyo Yakobo avuga ati: “Ewe Mana ya dawe Aburahamu n’Imana ya dawe Izahaki+, ewe Yehova, wewe umbwira uti: ‘Subira mu gihugu cawe no ku ncuti zawe nanje nzokugirira neza+,’ 10 sinkwiriye ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyose n’ubwizigirwa bwose wagiriye umusavyi wawe+, kuko najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ubu nkaba nacitse amakambi abiri+. 11 Ndagusavye undokore+ mu kuboko kwa mwene wacu, mu kuboko kwa Esawu, kuko ndamutinya, nkaba ntinya ko yoza maze akanterana+ n’abana na ba nyina. 12 Kandi wewe, waravuze uti: ‘Nta gukeka nzokugirira neza, kandi uruvyaro rwawe nzorugira nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga, utudashobora guharurwa kubera ubwinshi+.’”
13 Nuko arara ng’aho iryo joro. Ku vyo yari afise afata ingabirano yo guha Esawu mwene wabo+: 14 impene amajana abiri zivyara n’amasuguru mirongo ibiri, intama amajana abiri zivyara n’impfizi z’intama mirongo ibiri, 15 ingamiya mirongo itatu zonsa n’abana bazo, inka mirongo ine n’amashūri cumi, indogobwa z’ingore mirongo ibiri n’indogobwa zikuze cumi+.
16 Maze aha abasuku biwe ubusho bumwe inyuma y’ubundi, bumwebumwe ukwabwo, akaza arabwira abasuku biwe ati: “Nimujabuke imbere yanje, kandi musige umwanya hagati y’ubusho n’ubundi+.” 17 Vyongeye ategeka uwa mbere ati: “Esawu mwene wacu niyahura nawe akakubaza ati: ‘Uri uwa nde, kandi uriko uja he, kandi ibi biri imbere yawe ni ivya nde?’ 18 uce uvuga uti: ‘Ni ivy’umusavyi wawe Yakobo. Ni ingabirano+ irungikiwe umukama wanje+ Esawu, kandi ehe na we nyene ubwiwe ari inyuma yacu.’” 19 Nuko ategeka n’uwa kabiri, n’uwa gatatu, n’abari bakurikiye amasho bose, ati: “Ukwo ndababwiye abe ari ko mubwira Esawu nimwahura+. 20 Muravuge kandi muti: ‘Ehe umusavyi wawe Yakobo ari inyuma yacu+.’” Kuko yibwira ati: “Hari aho nomuhoyahoyesha iyi ngabirano igiye imbere yanje+, maze mu nyuma nkabona mu maso hiwe. Hari aho yonyakirana ubuntu+.” 21 Nya ngabirano ijabuka rero imbere yiwe, mugabo we ubwiwe arara mw’ikambi iryo joro+.
22 Mu nyuma muri iryo joro, arahaguruka afata abagore biwe babiri+ n’abasukukazi biwe babiri+ n’abahungu biwe cumi n’umwe bakiri bato+, ajabuka icambu ca Yaboki+. 23 Gutyo arabafata abajabutsa uwo mwonga+, yongera ajabutsa ivyo yari afise.
24 Amaherezo Yakobo asigara ari wenyene. Maze umugabo umwe atangura kunyinyurana na we gushika umutwenzi utambitse+. 25 Abonye ko atamunesheje+, aca akora kw’iteranirizo ry’itako ryiwe; maze nya teranirizo ry’itako rya Yakobo riratirigana mu gihe yariko anyinyurana na we+. 26 Inyuma y’ivyo avuga ati: “Ndeka ngende, kuko umutwenzi utambitse.” Na we ati: “Sinkureka ngo ugende utabanje kumpezagira+.” 27 Amubwira rero ati: “Witwa nde?” Na we ati: “Yakobo.” 28 Maze avuga ati: “Ntuciswe Yakobo, mugabo uzokwitwa Isirayeli+, kuko wanyinyanye+ n’Imana n’abantu amaherezo ugatahukana intsinzi.” 29 Yakobo na we arabaza ati: “Ndakwinginze umbwire izina ryawe.” Ariko avuga ati: “Ubariza iki izina ryanje+?” Nuko amuhezagirira ng’aho. 30 Ku bw’ivyo Yakobo aho hantu ahita Peniyeli*+, kuko yavuze ati: “Nabonye Imana amaso mu yandi, yamara ndarokoka+.”
31 Nuko izuba ritangura kurasira kuri we akirengana Penuweli, mugabo yariko acumbagirira kw’itako ryiwe+. 32 Ni co gituma bene Isirayeli badahora barya umurya w’umutsi w’itako, uwuri kw’iteranirizo ry’itako, gushika n’uyu musi, kuko yakoze kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo, ku murya w’umutsi w’itako+.
33 Mu nyuma Yakobo araramura amaso araraba, abona Esawu ariko araza ari kumwe n’abagabo amajana ane+. Ku bw’ivyo aca agabura abana abaha Leya na Rasheli na ba basukukazi babiri+, 2 maze ashira nya basukukazi n’abana babo imbere+, Leya n’abana biwe inyuma ya bano+, hanyuma Rasheli na Yozefu inyuma yabo+. 3 Na we ubwiwe aja imbere yabo, atangura kwunama gushika hasi, incuro indwi, gushika yegereye mwene wabo+.
4 Nuko Esawu yiruka kumusanganira+, maze atangura kumugumbira+, amugwa kw’izosi aramusoma, baraturikisha bararira. 5 Maze araramura amaso abona nya bagore na nya bana aca avuga ati: “Aba bari kumwe nawe ni bande?” Na we ati: “Ni abana Imana yahaye umusavyi wawe ku butoni+.” 6 Nya basukukazi baca begera imbere, bo n’abana babo, maze barunama; 7 na Leya yegera imbere, be n’abana biwe, maze barunama, mu nyuma Yozefu yegera imbere, na Rasheli, maze barunama+.
8 Aca avuga ati: “Iyo kambi y’ingenzi yose twahuye wayirungikiye iki+?” Na we ati: “Ni ukugira ngo ngire ubutoni mu maso y’umukama wanje+.” 9 Maze Esawu avuga ati: “Mfise vyinshi cane, mwene wacu+. Ivyawe nibibandanye kuba ivyawe.” 10 Ariko Yakobo avuga ati: “Oya, ndakwinginze. Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe+, niwakire ingabirano yanje mu kuboko kwanje. Nayizanye kugira nshobore kubona mu maso hawe. Kandi nahabonye nk’aho mbonye mu maso h’Imana, kuko wanyakiranye agahimbare+. 11 Ndakwinginze wakire ingabirano iserura umuhezagiro wanje wazaniwe+, kuko Imana yantonesheje kandi nkaba mfise ikintu cose+.” Nuko abandanya kumwinginga, ku buryo yakira+.
12 Mu nyuma Esawu avuga ati: “Dufate inzira tugende, ngende imbere yawe.” 13 Mugabo amubwira ati: “Umukama wanje arazi ko abana batagira intege be n’uko njejwe intama n’inka vyonsa+; nibabiyobora gihutihuti mu musi umwe, umukuku wose rero urapfa ata kabuza+. 14 Ndakwinginze, umukama wanje aje imbere y’umusavyi wiwe, mugabo jewe mbandanye urugendo uko bimpimbara nisunze uko ibitungwa+ biri imbere yanje bigenda be n’uko abana bagenda+, gushika nshitse iw’umukama wanje i Seyiri+.” 15 Maze Esawu avuga ati: “Ndakwinginze ureke nkuronse bamwe mu bantu bari kumwe nanje.” Na we ati: “Kubera iki ivyo? Ningire ubutoni mu maso y’umukama wanje+.” 16 Nuko kuri uwo musi Esawu afata inzira, asubira i Seyiri.
17 Yakobo na we afata inzira aja i Sukoti+, maze atangura kwiyubakira inzu, ubusho bwiwe na bwo abukorera insago+. Ni co catumye aho hantu ahita Sukoti.
18 Mu nyuma Yakobo ashika impore mu gisagara ca Shekemu+, ikiri mu gihugu ca Kanani+, mu gihe yari avuye i Padani-aramu+; araheza ashinga ikambi imbere y’ico gisagara. 19 Maze yironsa mu kuboko kwa bene Hamori se wa Shekemu igice c’itongo yashinzemwo ihema ryiwe, ku bice ijana vy’amahera+. 20 Hanyuma ahashinga igicaniro, maze acita ngo Imana ni Imana ya Isirayeli+.
34 Kandi Dina umukobwa wa Leya+, uwo uno yari yaravyariye Yakobo, yari amenyereye gusohoka kuraba+ abakobwa bo muri ico gihugu+. 2 Nuko Shekemu mwene Hamori Umuhiwi+, umukuru wo muri ico gihugu, aramubona maze aramufata, aryamana na we, aramwonona+. 3 Nuko umutima wiwe wumira kuri Dina umukobwa wa Yakobo, akunda uwo mwigeme kandi aguma avugisha nya mwigeme amuryosharyosha. 4 Amaherezo Shekemu abwira Hamori se wiwe+ ati: “Nsabira uno mukobwa ambere umugore+.”
5 Nuko Yakobo yumva ko Shekemu yari yahumanije Dina umukobwa wiwe. Kandi abahungu biwe bari kumwe n’ubusho bwiwe mu gahinga+; Yakobo aguma acereje gushika baje+. 6 Mu nyuma Hamori se wa Shekemu arasohoka, aja aho Yakobo ari kuvugana na we+. 7 Bene Yakobo bakimara kuvyumva, baraza bavuye mu gahinga; maze abo bagabo barababara, barashavura cane+, kuko yari yakoreye ubusazi bw’agaterasoni Isirayeli mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kandi ata kintu nk’ico gikwiye kugirwa+.
8 Nuko Hamori avugana na bo ati: “Shekemu umuhungu wanje, umutima wiwe ufatanye n’umukobwa wanyu+. Ndabinginze mumumuhe amubere umugore+, 9 kandi mwunge natwe ubucuti bw’ukwabirana+. Muzoduhe abakobwa banyu, namwe muzokwitwarire abakobwa bacu+. 10 Muzoshobora kubana natwe, kandi igihugu kizoba kiri imbere yanyu. Nimukibemwo mwongere mugikoreremwo urudandaza kandi mukigereremwo+.” 11 Maze Shekemu abwira se w’uwo mukobwa na basaza biwe ati: “Ningire ubutoni mu maso yanyu, kandi ico mumbwira cose ndagitanga. 12 Nimuduze cane amahera y’inkwano be n’ingabirano nsabwa+, nanje nditeguriye gutanga ivyo mwombwira vyose; mumpe gusa uwo mwigeme ambere umugore.”
13 Nuko bene Yakobo bishurana uruhendo Shekemu na Hamori se wiwe, bavuga gutyo kuko yari yahumanije Dina mushiki wabo+. 14 Nuko bababwira bati: “Ntitwoshobora gukora ikintu nk’ico, ngo duhe mushiki wacu umugabo atagenyerewe+, kuko ico ari iceyi kuri twebwe. 15 Nimwemera iki kintu ni ho gusa dushobora kubemerera: mube nkatwe, uw’igitsina-gabo wese muri mwebwe agenyerwe+. 16 Tuzoheza tubahe abakobwa bacu, n’abakobwa banyu tubatware, kandi tuzobana namwe, tube igisata kimwe+. 17 Mugabo nimutatwumviriza ngo mugenyerwe, tuzotora umukobwa wacu twigire.”
18 Nuko amajambo yabo aboneka ko ari meza mu maso ya Hamori no mu maso ya Shekemu, umuhungu wa Hamori+, 19 maze uwo musore ntiyateba gushitsa ico gisabwa+, kuko yahimbarwa koko n’umukobwa wa Yakobo, akaba kandi yarubahwa kuruta abandi bose+ bo mu nzu yose ya se+.
20 Nuko Hamori na Shekemu umuhungu wiwe baja kw’irembo ry’igisagara cabo maze batangura kubwira abagabo bo mu gisagara cabo+ bati: 21 “Aba bagabo badushakira amahoro+. Ku bw’ivyo nibabe mu gihugu kandi bagikoreremwo urudandaza, kuko igihugu cagutse rwose imbere yabo+. Abakobwa babo turashobora kubatwara bakaba abagore bacu, abakobwa bacu bwite na bo tugashobora kubabaha+. 22 Twemeye iki kintu ni ho gusa abo bagabo bazotwemerera kubana natwe kugira ducike igisata kimwe: uw’igitsina-gabo wese wo muri twebwe agenyerwe nk’uko bagenyerewe+. 23 Ibintu vyabo n’ubutunzi bwabo n’ibitungwa vyabo vyose, ntibizoca none biba ivyacu+? Gusa tubemerere, kugira babane natwe+.” 24 Nuko abasohoka bose baciye mw’irembo ry’igisagara ciwe bumviriza Hamori na Shekemu umuhungu wiwe, maze ab’igitsina-gabo bose baragenyerwa, abasohoka bose baciye mw’irembo ry’igisagara ciwe.
25 Ariko ku musi ugira gatatu, bacumva ububabare+, ba bahungu babiri ba Yakobo, Simeyoni na Lewi+, basaza ba Dina+, umwumwe wese muri bo afata inkota yiwe, bagenda mu gisagara ata wubicura, batangura kwica uw’igitsina-gabo wese+. 26 Bicisha ubugi bw’inkota+ Hamori na Shekemu umuhungu wiwe. Maze batora Dina mu nzu ya Shekemu, barasohoka+. 27 Abandi bahungu ba Yakobo batera abagabo bari bakomerekejwe ibikomere vyica baraheza baja mu vyo gusahura nya gisagara, kuko bari bahumanije mushiki wabo+. 28 Imikuku yabo n’amasho yabo n’indogobwa zabo n’ivyari mu gisagara n’ivyari mu gahinga baratwara+. 29 Ivyababeshaho vyose n’abana babo batoyi bose n’abagore babo babitwara ari inyagano, ku buryo basahura ivyari mu mazu vyose+.
30 Nuko Yakobo abwira Simeyoni na Lewi+ ati: “Mwankwegeye gukumirwa mu kungira akanuka ku baba mu gihugu+, ku Banyakanani n’Abaperizi; ko ndi imparurwa+, ntibazobura kunkoranira bakantera, nkazimanganywa koko, jewe n’inzu yanje.” 31 Na bo bavuga bati: “Mbega mushiki wacu yari akwiye gufatwa nk’umumaraya+?”
35 Inyuma y’ivyo Imana ibwira Yakobo iti: “Haguruka, uduge i Beteli ubeyo+, kandi wubakireyo igicaniro Imana y’ukuri yakubonekeye igihe wariko uhunga Esawu mwene wanyu+.”
2 Maze Yakobo abwira urugo rwiwe n’abari kumwe na we bose ati: “Mushire kure imana z’inyamahanga ziri hagati muri mwebwe+, mwihumanure kandi muhindure imitamana yanyu+, 3 duheze duhaguruke tuduge i Beteli. Maze nzohubakira igicaniro Imana y’ukuri yanyishuye ku musi w’amarushwa yanje+, kuko yabanye nanje mu nzira najanye+.” 4 Nuko baha Yakobo imana z’inyamahanga+ zose bari bafise n’amahereni yari ku matwi yabo, maze Yakobo abinyegeza+ munsi y’igiti kinini cari hafi ya Shekemu.
5 Inyuma y’ivyo baragenda, maze Imana ica ivutu ibisagara vyari hirya no hino yabo+, ku buryo batoma inyuma bene Yakobo. 6 Amaherezo Yakobo ashika i Luzi+, ahari mu gihugu ca Kanani, ni ukuvuga Beteli, we n’abantu bose bari kumwe na we. 7 Maze yubakayo igicaniro araheza yita aho hantu Eli-beteli, kuko ari ho Imana y’ukuri yari yaramwihishuriye igihe yariko ahunga mwene wabo+. 8 Mu nyuma Debora+ umurezi wa Rebeka arapfa hanyuma ahambwa ku ntango ya Beteli, munsi y’uruti rusagaraye. Ku bw’ivyo arwita Aloni-bakuti.
9 Imana yongera kubonekera Yakobo igihe yariko ava i Padani-aramu+, iramuhezagira+. 10 Maze Imana imubwira iti: “Izina ryawe ni Yakobo+. Ntuzosubira kwitwa Yakobo, mugabo izina ryawe rizoba Isirayeli.” Nuko imwita Isirayeli+. 11 Imana imubwira kandi iti: “Ndi Imana Mushoboravyose+. Nurondoke, ugwire. Muri wewe hazova amahanga n’ishengero ry’amahanga, kandi mu kiyunguyungu cawe hazova abami+. 12 Nayo igihugu nahaye Aburahamu na Izahaki, nzogiha wewe, kandi uruvyaro* rwawe+ rwo mu nyuma zawe nzoruha ico gihugu+.” 13 Inyuma y’ivyo Imana iraduga ivuye hejuru yiwe aho hantu yari yavuganiye na we+.
14 Nuko Yakobo ahagarika inkingi aho hantu yari yavuganiye na yo+, inkingi y’ibuye, maze asuka ishikanwa ry’ikinyobwa kuri yo yongera ayisukako amavuta+. 15 Aho hantu Imana yari yavuganiye na we, Yakobo abandanya kuhita Beteli+.
16 Maze baragenda bavuye i Beteli. Hagisigaye akarere kanini k’igihugu ngo bashike muri Efurata+, Rasheli atangura kwibaruka; kandi vyariko biramugora kuvyara+. 17 Mugabo biriko biramugora kuvyara, umwakirizi amubwira ati: “Ntutinye, kuko uza kuronka n’uyu muhungu+.” 18 Kandi ivyahavuye biba ni uko igihe yariko+ aracikana* (kuko yapfuye+) yamwise Beni-oni*, mugabo se amwita Benyamini*+. 19 Gutyo Rasheli arapfa maze ahambwa ku nzira ija muri Efurata, ni ukuvuga Betelehemu+. 20 Nuko Yakobo ahagarika inkingi hejuru y’imva yiwe. Iyo ni yo nkingi y’imva ya Rasheli gushika n’uyu musi+.
21 Inyuma y’ivyo Isirayeli aragenda maze ashinga ihema ryiwe hirya y’umunara wa Ederi+. 22 Nuko mu gihe Isirayeli yari acumbitse+ muri ico gihugu, igihe kimwe Rubeni aragenda aryamana na Biluha incoreke ya se wiwe, maze Isirayeli aravyumva+.
Abahungu ba Yakobo rero bari cumi na babiri. 23 Abahungu yavyaye kuri Leya bari: Rubeni imfura ya Yakobo+, na Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Zebuloni. 24 Abahungu yavyaye kuri Rasheli bari Yozefu na Benyamini. 25 Abahungu yavyaye kuri Biluha, umusukukazi wa Rasheli, bari Dani na Nafutali. 26 Nayo abahungu yavyaye kuri Zilupa, umusukukazi wa Leya, bari Gadi na Asheri. Abo ni bo bene Yakobo, abo yavyariye i Padani-aramu.
27 Amaherezo Yakobo ashika kwa Izahaki se wiwe i Mamure+, i Kiriyati-aruba+, ni ukuvuga Heburoni, aho Aburahamu na Izahaki bari barabaye ari ba kavamahanga+. 28 Imisi ya Izahaki yabaye imyaka ijana na mirongo umunani+. 29 Inyuma y’aho Izahaki aracikana, arapfa, maze ahamvya ab’iwabo, yisaziye kandi ahaze imisi+; Esawu na Yakobo abahungu biwe baramuhamba+.
36 Aka ni ko kahise ka Esawu, ni ukuvuga Edomu+.
2 Esawu yakuye abagore biwe mu bakobwa ba Kanani+: Ada+ umukobwa wa Eloni Umuheti+ na Oholibama+ umukobwa wa Ana, umwuzukuru wa Zibeyoni Umuhiwi, 3 na Basemati+, umukobwa wa Ishimayeli, mushiki wa Nebayoti+.
4 Nuko Ada avyarira Esawu Elifazi, Basemati na we avyara Reyuweli,
Abo ni bo bene Esawu, abo yavyariwe mu gihugu ca Kanani. 6 Inyuma y’ivyo, Esawu afata abagore biwe, n’abahungu biwe, n’abakobwa biwe, n’abantu bo mu nzu yiwe bose, n’ubusho bwiwe, n’ibindi bitungwa vyiwe vyose, n’ubutunzi bwiwe bwose+, ivyo yari yararundanije mu gihugu ca Kanani, maze aja mu gihugu kiri kure ya Yakobo mwene wabo+, 7 kuko ibintu vyabo vyari vyarabaye vyinshi ku buryo batashobora kubana, nayo igihugu bari babayemwo ari ba kavamahanga kikaba kitashobora kubabeshaho kubera amasho yabo+. 8 Nuko Esawu aba mu karere k’imisozi ka Seyiri+. Esawu ni we Edomu+.
9 Kandi aka ni ko kahise ka Esawu se w’Abanyedomu baba mu karere k’imisozi ka Seyiri+.
10 Aya ni yo mazina ya bene Esawu: Elifazi umuhungu wa Ada, umugore wa Esawu; Reyuweli umuhungu wa Basemati, umugore wa Esawu+.
11 Nuko bene Elifazi baba Temani+, Omari, Zefo na Gatamu na Kenazi+. 12 Kandi Timuna+ acika incoreke ya Elifazi, umuhungu wa Esawu. Mu nyuma avyarira Elifazi Amaleki+. Abo ni bo bahungu ba Ada, umugore wa Esawu.
13 Aba ni bo bene Reyuweli: Nahati na Zera, Shama na Miza+. Abo ni bo bana* ba Basemati+, umugore wa Esawu.
14 Kandi aba ni bo bana ba Oholibama umukobwa wa Ana, umwuzukuru wa Zibeyoni, umugore wa Esawu, abo yavyariye Esawu: Yewushi na Yalamu na Kora+.
15 Aba ni bo batware*+ ba bene Esawu: Bene Elifazi, imfura ya Esawu: Umutware Temani+, umutware Omari, umutware Zefo, umutware Kenazi, 16 umutware Kora, umutware Gatamu, umutware Amaleki. Abo ni bo batware ba Elifazi+ mu gihugu ca Edomu. Abo ni bo bahungu bavyawe na Ada.
17 Aba ni bo bene Reyuweli umuhungu wa Esawu: Umutware Nahati, umutware Zera, umutware Shama, umutware Miza. Abo ni bo batware ba Reyuweli mu gihugu ca Edomu+. Abo ni bo bahungu bo kuri Basemati umugore wa Esawu.
18 Ubwa nyuma, aba ni bo bahungu ba Oholibama umugore wa Esawu: Umutware Yewushi, umutware Yalamu, umutware Kora. Abo ni bo batware ba Oholibama umukobwa wa Ana, umugore wa Esawu.
19 Abo ni bo bene Esawu, kandi abo ni bo batware babo. Uno ni we Edomu+.
20 Aba ni bo bene Seyiri Umuhori, ababa muri ico gihugu+: Lotani na Shobali na Zibeyoni na Ana+ 21 na Dishoni na Ezeri na Dishani+. Abo ni bo batware b’Umuhori, bene Seyiri, mu gihugu ca Edomu.
22 Bene Lotani na bo baba Hori na Hemamu; kandi mushiki wa Lotani yari Timuna+.
23 Kandi aba ni bo bene Shobali: Aluvani na Manahati na Ebali, Shefo na Onamu.
24 Kandi aba ni bo bene Zibeyoni: Aya na Ana. Uno ni umwe Ana yubura imbizi zishushe mu gahinga igihe yari aragiriye indogobwa Zibeyoni se wiwe+.
25 Kandi aba ni bo bana ba Ana: Dishoni na Oholibama umukobwa wa Ana.
26 Kandi aba ni bo bene Dishoni: Hemudani na Eshubani na Itirani na Kerani+.
27 Aba ni bo bene Ezeri: Bilihani na Zayavani na Akani.
28 Aba ni bo bene Dishani: Uzu na Arani+.
29 Aba ni bo batware ba wa Muhori: Umutware Lotani, umutware Shobali, umutware Zibeyoni, umutware Ana, 30 umutware Dishoni, umutware Ezeri, umutware Dishani+. Abo ni bo batware b’uwo Muhori nk’uko abatware babo mu gihugu ca Seyiri bari.
31 Aba rero ni bo bami baganje mu gihugu ca Edomu+ imbere y’uko hagira umwami aganza bene Isirayeli+. 32 Bela mwene Beyori yaganza muri Edomu+, igisagara ciwe kikaba citwa Dinihaba. 33 Bela apfuye, Yobabu mwene Zera w’i Bozira+ atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 34 Yobabu apfuye, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani+ atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 35 Hushamu apfuye, Hadadi mwene Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani+ mu karere ka Mowabu+, atangura kuganza mu kibanza ciwe, igisagara ciwe kikaba citwa Aviti+. 36 Hadadi apfuye, Samula w’i Masireka atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 37 Samula apfuye, Shawuli w’i Rehoboti iruhande ya rwa Ruzi atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 38 Shawuli apfuye, Bayali-hanani mwene Akibori atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 39 Bayali-hanani mwene Akibori apfuye, Hadari atangura kuganza mu kibanza ciwe; kandi igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli umukobwa wa Matiredi, Matiredi umukobwa wa Mezahabu+.
40 Aya rero ni yo mazina y’abatware ba Esawu nk’uko imiryango yabo iri, nk’uko ahantu habo hari, hakurikijwe amazina yabo: Umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+, 41 umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni+, 42 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari+, 43 umutware Magidiyeli, umutware Iramu. Abo ni bo batware ba Edomu+ nk’uko aho baba mu gihugu bigabira hari+. Uwo ni we Esawu se w’Abanyedomu+.
37 Nuko Yakobo abandanya kuba mu gihugu se wiwe yabayemwo ari kavamahanga+, mu gihugu ca Kanani+.
2 Aka ni ko kahise ka Yakobo.
Yozefu+, afise imyaka cumi n’indwi, yari aragiye intama ari kumwe na bene wabo mu mukuku+, kandi, kubera yari agahungu, yari kumwe n’abahungu ba Biluha+ n’abahungu ba Zilupa+, abagore ba se wiwe. Nuko Yozefu azanira se inkuru mbi ku biberekeye+. 3 Isirayeli yakunda Yozefu kuruta abandi bahungu biwe bose+, kuko yari umuhungu wo mu busaza bwiwe; nuko amukoreshereza impuzu ndende y’imirongorongo imeze nk’ishati+. 4 Bene wabo babonye ko se amukunda kuruta bene wabo bose, batangura kumwanka+, kandi ntibashobora kumuvugisha mu mahoro+.
5 Mu nyuma Yozefu arota indoto hanyuma ayibwira bene wabo+, baba baronse iyindi mvo yo kumwanka. 6 Nuko ababwira ati: “Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto narose+. 7 Erega, ehe twariko tuboha imiganda hagati mu murima, maze umuganda wanje urahaguruka, uhagarara ugororotse, maze imiganda yanyu itangura gukikuza umuganda wanje no kuwunamira+.” 8 Nuko bene wabo bamubwira bati: “Mbega ugiye koko kuba umwami wo kutuganza+? Canke ugiye kutuganza koko+?” Baronka rero imvo nshasha yo kumwanka kubera indoto ziwe no kubera amajambo yiwe.
9 Inyuma y’ivyo arota n’iyindi ndoto, maze ayiganira bene wabo; avuga ati: “Ehe nongeye kurota indoto, kandi ehe izuba n’ukwezi n’inyenyeri cumi n’imwe vyariko binyunamira+.” 10 Maze ayiganira se wiwe na bene wabo, hanyuma se wiwe atangura kumuhambarira, amubwira+ ati: “Iyo ndoto warose isobanura iki? Mbega twe na nyoko wawe na bene wanyu tugiye kuza tukwunamire gushika hasi?” 11 Bene wabo bamugirira ishari+, mugabo se wiwe azigama iryo jambo+.
12 Nuko bene wabo bagenda kuragira umukuku wa se hafi ya Shekemu+. 13 Haciye umwanya Isirayeli abwira Yozefu ati: “Mbega bene wanyu ntibaragiye imikuku hafi ya Shekemu? Ingo, ndagutume kuri bo.” Na we amubwira ati: “Ndi hano+!” 14 Amubwira rero ati: “Ndakwinginze ugende. Urabe ko bene wanyu bari impore, kandi ko umukuku uri impore, uheze unzanire agakuru+.” Nuko aramurungika avuye mu kiyaya co hasi ca Heburoni+, maze agenda yerekeye i Shekemu. 15 Mu nyuma umugabo umwe amwubukako, kandi ehe yariko ayerera mu gahinga. Maze nya mugabo amubaza ati: “Uriko urondera iki?” 16 Na we ati: “Ni bene wacu ndiko ndarondera. Ndakwinginze umbwire: Baragiriye hehe imikuku?” 17 Nya mugabo aca avuga ati: “Bavuye ng’aha, kuko numvise bavuga ngo: ‘Tuje i Dotani.’” Yozefu rero aguma akurikira bene wabo, abasanga i Dotani.
18 Bamubona akiri nka hariya, maze atarashika hafi yabo batangura kumugīra umugambi mu buryo bw’urwenge wo kumwica+. 19 Babwirana rero bati: “Ehe! Ng’urya araje wa murosi+. 20 Ubu rero ingo tumwice, tumujugunyire muri kimwe mu vyobo vy’amazi+; tuze kuvuga yuko igikoko c’ikimwenyi camurokeje+. Duheze turabe ikizova mu ndoto ziwe.” 21 Rubeni yumvise ivyo, agerageza kumurokora mu kuboko kwabo+. Avuga ati: “Twoye kumwica+.” 22 Maze Rubeni abandanya kubabwira ati: “Ntimuvishe amaraso+. Nimumujugunyire muri iki cobo c’amazi kiri mu gahinga, kandi ntimushire ukuboko kw’inkazi kuri we+.” Intumbero yiwe yari iyo kumurokora mu kuboko kwabo kugira amusubize kwa se.
23 Yozefu agishika aho bene wabo bari, batangura kumwambura impuzu yiwe ndende, emwe, ya mpuzu ndende y’imirongorongo yari yambaye+; 24 hanyuma baramufata bamujugunyira muri nya cobo c’amazi+. Ico gihe nya cobo caragaragara; nta mazi yari muri co.
25 Maze baricara kugira barye umukate+. Bararamuye amaso bakihweza, babona umugwi w’ingenzi w’Abishimayeli+ wariko uraza uvuye i Gileyadi, kandi ingamiya zabo zari zitwaye ibirirarira bimota neza vy’ibimera*, n’umusomozo* be n’ibishishwa vy’uburembo+; bari ku nzira babimanukanye mu Misiri. 26 Nuko Yuda abwira bene wabo ati: “Vyomara iki hamwe twokwica mwene wacu tugapfuka koko amaraso yiwe+? 27 Ingo tumugurishe ku Bishimayeli+, ntitumushireko ukuboko+. Nakare, ni mwene wacu, umubiri wacu.” Nuko bumviriza mwene wabo+. 28 Buno abagabo, abadandaza b’Abamidiyani+, baca ng’aho. Bene wabo na Yozefu baca baramukwega, bamuduza bamukuye muri nya cobo c’amazi+, maze bagurisha Yozefu kuri nya Bishimayeli ibice mirongo ibiri vy’ifeza+. Amaherezo bano bajana Yozefu mu Misiri.
29 Mu nyuma Rubeni asubira kuri nya cobo c’amazi, asanga Yozefu ata wuriyo. Aca atantamura impuzu ziwe+. 30 Asubiye kuri bene wabo bandi, avuga ati: “Umwana nta wuhari! None ga yemwe nja hehe koko+?”
31 Ariko bafata ya mpuzu ndende ya Yozefu, bakerera isuguru baraheza bakoza nya mpuzu mu maraso+ incuro n’izindi. 32 Hanyuma barungika nya mpuzu ndende y’imirongorongo, bayizanira se, bamubwira bati: “Iki ni co twatoye. Turakwinginze usuzume+ ko yoba ari ya mpuzu ndende y’umuhungu wawe canke ko atari yo+.” 33 Atangura kuyisuzuma maze avuga ati: “Ni ya mpuzu ndende y’umuhungu wanje! Igikoko c’ikimwenyi camurokeje+! Yozefu nta nkeka yatabaguwe+!” 34 Yakobo aca atantamura imitamana yiwe maze akenyera igunira* mu mafyinga, agandarira umuhungu wiwe imisi myinshi+. 35 Abahungu biwe bose n’abakobwa biwe bose baguma baza kumuhoza+, mugabo aguma yanka guhozwa avuga+ ati: “Kuko nzomanuka iyo umuhungu wanje ari mu kuzimu* ngandaye!” Nuko se wiwe abandanya kumuririra.
36 Ariko nya Bamidiyani bamugurisha mu Misiri kuri Potifari umukozi wo ku kirimba ca Farawo+, umukuru w’abacungera ubuzima+.
38 Muri ico gihe Yuda amanutse avuye kuri bene wabo, ashinga ihema ryiwe hafi y’umugabo umwe, Umwadulamu+, yitwa Hira. 2 Ng’aho, Yuda ahabona umukobwa w’Umunyakanani+ umwe, uwo Munyakanani akaba yitwa Shuwa. Nuko aramutwara, aryamana na we. 3 Maze aribungenga. Mu nyuma avyara umuhungu, amwita Ere+. 4 Yongera kwibungenga. Mu nyuma avyara umuhungu, amwita Onani. 5 Ikindi gihe na ho avyara umuhungu maze amwita Shela. Yuda yari i Akizibu igihe yamuvyara+.
6 Mu nyuma Yuda aronderera Ere imfura yiwe umugore, akaba yitwa Tamari+. 7 Mugabo Ere, imfura ya Yuda, yakora ivyari bibi mu maso ya Yehova+; ku bw’ivyo Yehova aramwica+. 8 Yuda abwira Onani rero ati: “Ryamana n’umugore wa mwene wanyu, umucure, maze uhagurukirize uruvyaro mwene wanyu+.” 9 Mugabo Onani yari azi yuko nya ruvyaro rutobaye urwiwe+; igihe rero yaryamana n’umugore wa mwene wabo, yarekurira hasi intanga ziwe kugira ntaronse uruvyaro mwene wabo+. 10 Ivyo yakora vyari bibi mu maso ya Yehova+; ku bw’ivyo na we nyene aramwica+. 11 Yuda abwira rero Tamari umukazana wiwe ati: “Nube mu nzu ya so uri umupfakazi gushika Shela umuhungu wanje akuze+.” Kuko yibwira ati: “Na we nyene yohava apfa nka bene wabo+.” Nuko rero Tamari aragenda, abandanya kuba mu nzu ya se wiwe+.
12 Gutyo imisi iba myinshi maze umukobwa wa Shuwa umugore wa Yuda+, arapfa; nuko Yuda yubahiriza ikiringo c’ikigandaro+. Inyuma y’ivyo aduga ku bakemuzi b’intama ziwe i Timuna+, we na Hira umugenzi wiwe w’Umwadulamu+. 13 Maze Tamari abwirwa ngo: “Ehe sobukwe ariko aduga i Timuna gukemura intama ziwe+.” 14 Aca yikurako impuzu z’ubupfakazi bwiwe maze yipfuka umwitwikiro, aritwikira, hanyuma yicara ku bwinjiriro bwa Enayimu, ahari iruhande y’inzira ija i Timuna. Kuko yabonye yuko Shela yari yarakuze mugabo ntibamumuhe ngo amubere umugore+.
15 Yuda amubonye, aca amufata nk’umumaraya+, kuko yari yipfutse mu maso+. 16 Nuko akebereza aho ari iruhande y’inzira maze avuga ati: “Ndakwinginze unyemerere ndyamane nawe+.” Kuko atari azi yuko ari umukazana wiwe+. Ariko Tamari avuga ati: “Umpa iki kugira uryamane nanje+?” 17 Na we ati: “Jewe ubwanje nzorungika umwagazi w’impene wo mu busho.” Mugabo avuga ati: “None urampa ingwati gushika uwurungitse+?” 18 Yuda abandanya ati: “Ndaguha ingwati nyabaki?” Na we ati: “Impeta y’ikidodo+ yawe n’umugozi wawe n’inkoni iri mu kuboko kwawe.” Nuko arabimuha hanyuma aryamana na we, ku buryo yibungenga bivuye kuri we. 19 Inyuma y’ivyo arahaguruka aragenda, yikurako umwitwikiro wiwe araheza yambara impuzu z’ubupfakazi bwiwe+.
20 Yuda arungikana wa mugenzi wiwe w’Umwadulamu+ nya mwagazi w’impene, kugira agarukane ya ngwati ayikuye mu kuboko kwa wa mugore, mugabo ntiyigera amutora. 21 Ni kwo kubaza abagabo b’aho hantu ati: “Ari he wa mumaraya w’urusengero yari i Enayimu iruhande y’inzira?” Mugabo baguma bavuga bati: “Nta mumaraya w’urusengero+ yigeze kuba muri iki kibanza.” 22 Amaherezo agaruka kuri Yuda maze avuga ati: “Sinigeze ndamutora, kandi bisubiye, abagabo ba nya hantu bavuze bati: ‘Nta mumaraya w’urusengero yigeze kuba muri iki kibanza.’” 23 Nuko Yuda avuga ati: “Nabitware, kugira ntiduhave dukengerwa+. Uko biri kwose, jewe narungitse uyu mwagazi, mugabo wewe ntiwigeze umutora.”
24 Ariko haciye nk’amezi atatu Yuda abwirwa ngo: “Tamari umukazana wawe yagize ivy’umumaraya+, kandi ehe aranibungenze+ bivuye ku bumaraya bwiwe.” Yuda na we avuga ati: “Nimumusohore maze aturirwe+.” 25 Bariko baramusohora, atuma kuri sebukwe ati: “Nibungenze inda y’umugabo ibi bintu vyegukira+.” Yongerako ati: “Ndakwinginze usuzume+ uwo ibi vyegukira, iyi mpeta y’ikidodo n’uwu mugozi n’iyi nkoni+.” 26 Maze Yuda arabisuzuma, hanyuma avuga+ ati: “Aragororotse kundusha+, kuko ntamuhaye Shela umuhungu wanje+.” Ntiyongera kuryamana na we inyuma y’aho+.
27 Igihe yariko aribaruka, erega, ehe hari amahasa mu nda yiwe. 28 Vyongeye, igihe yariko aribaruka, umwe aramvura ukuboko kwiwe, maze umwakirizi aca afata akagozi k’agahama akabohera ku kuboko kwiwe, avuga ati: “Uyu ni we asohotse ubwa mbere.” 29 Amaherezo, akimara gusubiza inyuma ukuboko kwiwe, erega, ehe mwene wabo arasohoka, ku buryo nya mwakirizi atangara ati: “Ushaka kuvuga iki kuri ivyo, ko witaburiye aho uca*?” Ku bw’ivyo bamwita Perezi*+. 30 Mu nyuma mwene wabo, umwe ukuboko kwiwe kwariko akagozi k’agahama, arasohoka hanyuma bamwita Zera+.
39 Nayo Yozefu amanukanwa mu Misiri+, maze Potifari+ umukozi wo ku kirimba ca Farawo, umukuru w’abacungera ubuzima, Umunyamisiri, amugura n’Abishimayeli+ bari bamumanukanye ng’aho. 2 Mugabo Yehova abana na Yozefu, ku buryo aba umuntu aroranirwa+, arahava ashirwa hejuru y’inzu ya shebuja, Umunyamisiri. 3 Nuko shebuja abona ko Yehova yari kumwe na we kandi ko Yehova yatuma aroranirwa mu kintu cose yakora.
4 Yozefu aguma agira ubutoni mu maso yiwe kandi amukorera ubudahengeshanya, ku buryo amushinga kugaba inzu yiwe+, ivyiwe vyose abishira mu kuboko kwiwe. 5 Nuko kuva igihe amushingiye kugaba inzu yiwe no kuganza ivyiwe vyose, Yehova aguma ahezagira inzu y’uwo Munyamisiri kubera Yozefu, kandi umuhezagiro wa Yehova uba ku vyo yari afise vyose mu nzu no mu murima+. 6 Amaherezo arekera ikintu ciwe cose mu kuboko kwa Yozefu+; kandi nta co yinona na gato ku vyiwe kiretse umukate yarya. Vyongeye, Yozefu aba mwiza ku mubiri, aba na mwiza mu kuntu asa.
7 Inyuma y’ivyo, umugore wa shebuja atangura kuraramurira amaso+ kuri Yozefu, avuga ati: “Ingo turyamane+.” 8 Mugabo Yozefu yaranka+, akabwira nya mugore wa shebuja ati: “Ehe databuja nta co yinona ku vyo njejwe mu nzu, kandi ivyo afise vyose yabishize mu kuboko kwanje+. 9 Nta wunduta muri iyi nzu, kandi nta kintu na kimwe yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe+. None noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana+?”
10 Uko yabibwira Yozefu ku musi ku musi, Yozefu ntiyigera amwumviriza ngo aryame iruhande yiwe, ngo agumane na we+. 11 Mugabo umusi uri izina Yozefu yinjira mu nzu gukora igikorwa ciwe nko ku yindi misi, kandi nta n’umwe mu bagabo bo muri iyo nzu yari ng’aho mu nzu+. 12 Maze nya mugore amucakira impuzu+, avuga ati: “Ingo turyamane+!” Mugabo Yozefu amutana impuzu yiwe mu kuboko, arahunga, aja hanze+. 13 Nya mugore abonye ko asize impuzu yiwe mu kuboko kwiwe kugira ahungire hanze, 14 aca atangura gusemerera atabaza abagabo bo mu nzu yiwe, ababwira ati: “Ehe yatuzaniye umugabo, Umuheburayo, kugira atugire akamenyo. Yaje iyo ndi ngo turyamane, mugabo nca nkoma induru n’ijwi ryanje ryose+. 15 Aho yumviye ko nshize ijwi hejuru ngakoma induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje arahunga, aja hanze.” 16 Aca agumiza impuzu ya Yozefu irambitse iruhande yiwe gushika shebuja agarutse i muhira+.
17 Maze amubwira nk’uko ano majambo ari, ati: “Wa musuku w’Umuheburayo watuzanira yaje iyo ndi ngo angire akamenyo. 18 Mugabo ngipfa gushira ijwi hejuru ngakoma induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje ahungira hanze+.” 19 Shebuja ngo yumve amajambo umugore wiwe amubwiye, ngo: “Umusuku wawe yangiriye ibi n’ibi,” ishavu rica rirarurumba+. 20 Shebuja wa Yozefu aca aramufata, amushira mu nzu y’ibohero, ahantu imbohe z’umwami zapfungirwa, aguma ng’aho muri iyo nzu y’ibohero+.
21 Ariko Yehova agumana na Yozefu kandi aguma amugirira ubuntu bwuzuye urukundo, yongera amuha kugira ubutoni mu maso y’umukozi mukuru w’inzu y’ibohero+. 22 Uwo mukozi mukuru w’inzu y’ibohero ashira mu kuboko kwa Yozefu imbohe zose zari muri nya nzu; kandi ikintu cose bakora ng’aho ni we yagikoresha+. 23 Uwo mukozi mukuru w’inzu y’ibohero nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwa Yozefu yasuzuma, kuko Yehova yari kumwe na Yozefu kandi ico yakora Yehova agatuma kiroranirwa+.
40 Inyuma y’ivyo, uwuhereza ibinyobwa+ umwami wa Misiri be n’uwukora igikorwa co kwotsa bacumura ku mukama wabo umwami wa Misiri+. 2 Farawo arākarira abo bakozi biwe babiri+, umukuru w’abahereza ibinyobwa n’umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa+. 3 Abashira rero mw’ibohero ry’inzu y’umukuru w’abacungera ubuzima+, mu nzu y’ibohero+, hamwe Yozefu yari abohewe. 4 Maze nya mukuru w’abacungera ubuzima ashinga Yozefu kuba hafi yabo kugira abakorere+; baguma mw’ibohero imisi kanaka.
5 Nuko bompi barota indoto+ mw’ijoro rimwe+, umwe wese indoto yiwe, indoto yose ikagira insobanuro yayo+, wa wundi ahereza ibinyobwa n’umwe akora igikorwa co kwotsa begukira umwami wa Misiri bari imbohe mu nzu y’ibohero+. 6 Mu gitondo, Yozefu yinjiye iyo bari akababona, erega, ehe bari bajonjogoye+. 7 Nuko atangura kubaza nya bakozi ba Farawo bari kumwe na we mw’ibohero ry’inzu ya shebuja ati: “Kubera iki mwijiriwe mu maso uno musi+?” 8 Na bo bamubwira bati: “Twarose indoto, kandi nta musobanuzi ari kumwe natwe.” Nuko Yozefu ababwira ati: “None ugusobanura si ukw’Imana+? Ndabinginze mubinyiganire.”
9 Maze umukuru w’abahereza ibinyobwa yiganira indoto yiwe Yozefu, amubwira ati: “Mu ndoto yanje, erega, ehe hari umuzabibu imbere yanje. 10 Kuri nya muzabibu hari udushami dutatu, kandi wasa n’uwuriko urazana iminago+. Amashurwe yawo arasokoroka. Inzabibu zo ku misoko yawo zirasha. 11 Igikombe ca Farawo cari mu kuboko kwanje, maze mfata nya nzabibu ndazikanyira mu gikombe ca Farawo+. Inyuma y’ivyo nshira nya gikombe mu kiganza ca Farawo+.” 12 Nuko Yozefu amubwira ati: “Ng’iyi insobanuro yayo+: Utwo dushami dutatu ni imisi itatu. 13 Mu misi itatu uhereye ubu Farawo azoduza umutwe wawe, agusubize koko mw’ibanga ryawe+; nawe ata gukeka uzoshira igikombe ca Farawo mu kiganza ciwe, nk’uko wahora ubigira igihe wakora igikorwa co kumuhereza ibinyobwa+. 14 Yamara rero, uze unyibuke nivyamara kukugendera neza+, kandi ndakwinginze uze ungirire ubuntu bwuzuye urukundo, ubwire ivyanje Farawo+, unkuze muri iyi nzu. 15 Kuko nanyurujwe vy’ukuri nkuwe mu gihugu c’Abaheburayo+; kandi no ng’aha nta kintu na kimwe nakoze cotumye banshira muri iki cobo c’ibohero+.”
16 Umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa abonye ko yasobanuye ikintu ciza, na we abwira Yozefu ati: “Nanje narose, mbona ku mutwe wanje hari ibisimbo bitatu vy’umukate wera; 17 mu gisimbo co hejuru ya vyose hari ubwoko bwose bw’ibiribwa vya Farawo+, ivyakozwe n’uwukora igikorwa co kwotsa, kandi hari ibiguruka+ vyariko bibirya bibikura mu gisimbo hejuru y’umutwe wanje.” 18 Nuko Yozefu arishura, avuga ati: “Ng’iyi insobanuro yavyo+: Ivyo bisimbo bitatu ni imisi itatu. 19 Mu misi itatu uhereye ubu Farawo azoduza umutwe wawe awukuye kuri wewe, akumanike koko ku mugogo w’igiti+; ibiguruka bizorya inyama zo ku mubiri wawe+.”
20 Kandi umusi ugira gatatu wari umusi w’ivuka rya Farawo+, maze atereka inzimano abasuku biwe bose yongera aduza umutwe wa wa mukuru w’abahereza ibinyobwa n’umutwe wa wa mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa, hagati mu basuku biwe+. 21 Asubiza rero uwo mukuru w’abahereza ibinyobwa mu gikorwa ciwe co guhereza ibinyobwa+, abandanya gushira igikombe mu kiganza ca Farawo. 22 Mugabo uwo mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa aramumanika+, nk’uko Yozefu yari yabasobanuriye+. 23 Ariko uwo mukuru w’abahereza ibinyobwa ntiyibuka Yozefu; aramwibagira+.
41 Nuko haheze imyaka ibiri yuzuye, Farawo ararota+ ahagaze iruhande y’uruzi Nili. 2 Maze abona inka indwi zisa neza kandi zidoshe ziriko ziduga ziva mu ruzi Nili, zitangura kurisha ubwatsi bwa Nili+. 3 Abona n’izindi nka indwi zariko ziduga mu nyuma yazo ziva mu ruzi Nili, zisa nabi kandi zonze+, maze zihagarara iruhande ya za nka zidoshe ku nkombe y’uruzi Nili. 4 Maze za nka zisa nabi kandi zonze zirya za nka indwi zisa neza kandi zidoshe+. Farawo aca arikangura+.
5 Ariko asubira gusinzira, maze arota ubugira kabiri. Abona amahundo indwi y’intete ariko aduga ku gati kamwe, amahundo atotahaye kandi meza+. 6 Abona n’amahundo indwi y’intete, yonze kandi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko+, ariko akura mu nyuma zayo+. 7 Maze ya mahundo y’intete yonze atangura kumira ya mahundo indwi y’intete+ atotahaye kandi yuzuye. Farawo aca arikangura, asanga zari indoto.
8 Mu gitondo ahagarika umutima+. Atumako rero abaherezi b’abanyamageza bo mu Misiri+ bose, n’abantu b’inkerebutsi+ baho bose, maze Farawo abiganira indoto ziwe+. Mugabo habura uwo kuzisobanurira Farawo.
9 Maze umukuru w’abahereza ibinyobwa abwira Farawo+ ati: “Ibicumuro vyanje ngira ndabivuge uno musi+. 10 Farawo yari yashavuriye abasuku biwe+. Yaciye anshira mw’ibohero ry’inzu y’umukuru w’abacungera ubuzima+, jewe n’umukuru w’abakora igikorwa co kwotsa. 11 Inyuma y’ivyo, twe na we, twempi twararose indoto mw’ijoro rimwe. Twarose umwe wese indoto yiwe, indoto yose ikagira insobanuro yayo+. 12 Ng’aho twari kumwe n’umusore umwe, Umuheburayo+, umusuku w’umukuru w’abacungera ubuzima+. Tumwiganiye indoto zacu+, arazidusobanurira. Asobanurira umwe wese nk’uko indoto yiwe iri. 13 Uko nyene yari yabidusobanuriye ni ko vyabaye. Jewe yansubije mw’ibanga ryanje+, ariko we aramumanika+.”
14 Farawo atumako rero Yozefu+, kugira bamuzane ningoga bamukuye mu cobo c’ibohero+. Nuko arimosha+ yongera ahindura imitamana yiwe+, araheza yinjira kwa Farawo. 15 Maze Farawo abwira Yozefu ati: “Narose indoto, mugabo nta wo kuyisobanura ariho. Jewe narumvise bivugwa ku bijanye nawe yuko ushobora kwumva indoto ukayisobanura+.” 16 Yozefu yishura Farawo ati: “Si jewe nkwiye kwiyumvirwa! Imana ni yo iza kumenyesha ineza Farawo+.”
17 Nuko Farawo yongera kubwira Yozefu ati: “Mu ndoto yanje, ehe nari mpagaze ku nkombe y’uruzi Nili. 18 Maze mbona inka indwi zidoshe kandi zisa neza zariko ziduga zivuye mu ruzi Nili, hanyuma zitangura kurisha mu bwatsi bwa Nili+. 19 Mbona kandi izindi nka indwi zariko ziduga mu nyuma zazo, zimeze nabi, mbi cane kandi zonze+. Sindabona inka zinganya ububi na zo mu gihugu cose ca Misiri. 20 Izo nka zinamvye kandi mbi zitangura kurya za nka indwi za mbere zidoshe+. 21 Nuko zino zinjira mu nda zazo, yamara nta womenye ko zari zinjiye mu nda zazo, kuko zasa nabi nka mbere+. Nca ndikangura.
22 “Inyuma y’ivyo ndabona mu ndoto yanje, kandi ehe amahundo indwi y’intete yariko aduga ku gati kamwe, amahundo yuzuye kandi meza+. 23 Maze ehe amahundo indwi y’intete akabiranye, yonze, yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko+, yariko arakura mu nyuma zayo. 24 Nuko nya mahundo y’intete yonze atangura kumira ayo mahundo y’intete meza indwi+. Navyiganiye rero abaherezi b’abanyamageza+, mugabo ntihabonetse n’umwe abinsobanurira+.”
25 Maze Yozefu abwira Farawo ati: “Indoto ya Farawo ni imwe gusa. Ico Imana y’ukuri igira ikore yakibwiye Farawo+. 26 Izo nka indwi nziza ni imyaka indwi. N’ayo mahundo indwi y’intete meza ni imyaka indwi. Iyo ndoto ni imwe gusa. 27 Izo nka indwi zinamvye kandi mbi zaduze mu nyuma zazo ni imyaka indwi; nayo ayo mahundo indwi y’intete agaragara, yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko+, azoba imyaka indwi y’ikigoyi+. 28 Iki ni co kintu nabwiye Farawo: Ico Imana y’ukuri igira ikore, yaceretse Farawo+.
29 “Ehe hagira haze imyaka indwi y’umusesekara ukomeye mu gihugu cose ca Misiri. 30 Mugabo imyaka indwi y’ikigoyi izoza mu nyuma zayo, kandi umusesekara wose wo mu gihugu ca Misiri uzokwibagirwa, ikigoyi kiyogeze koko igihugu+. 31 Uwo musesekara uzoba wahora mu gihugu ntuzomenyekana kubera ico kigoyi co hanyuma, kuko kizoba vy’ukuri gikomeye cane. 32 Kandi kuba iyo ndoto yasubiriwemwo Farawo incuro zibiri, bisobanura ko ico kintu gishimangiwe n’Imana y’ukuri+, kandi Imana y’ukuri iriko yihutira kugikora+.
33 “Ubu rero Farawo narondere umugabo w’ubwenge kandi w’inkerebutsi, amushire ku gihugu ca Misiri+. 34 Farawo nagire ico akoze agene abacungezi ku gihugu+, kandi aze atore ikigira gatanu c’igihugu ca Misiri muri iyo myaka indwi y’umusesekara+. 35 Kandi nibegeranye ivyo kurya vyose vy’iyo myaka myiza igira ize, bongere barundanye mu bisagara intete zo kurya+, zigabwe na Farawo*, kandi baze bazizigame. 36 Kandi ivyo vyo kurya bize bibe ivyo igihugu kizokoresha muri nya myaka indwi y’ikigoyi izoba mu gihugu ca Misiri+, kugira igihugu ntikiyogezwe n’ikigoyi+.”
37 Nuko ico kintu kiba ciza mu maso ya Farawo n’ay’abasuku biwe bose+. 38 Farawo abwira rero abasuku biwe ati: “Hari uwundi muntu yoboneka ameze nk’uyu arimwo impwemu y’Imana+?” 39 Hanyuma Farawo abwira Yozefu ati: “Ko Imana yatumye umenya ivyo vyose+, nta muntu n’umwe ariho w’ubwenge kandi w’inkerebutsi nkawe+. 40 Ni wewe uzogaba inzu yanje+, kandi abantu banje bose bazokugamburukira baherezeko+. Ku bijanye n’intebe y’ubwami gusa ni ho nzokuruta+.” 41 Farawo yongera kubwira Yozefu ati: “Raba, ndagushinze kugaba igihugu cose ca Misiri+.” 42 Farawo aca akura impeta y’ikidodo+ yiwe ku kuboko kwiwe, ayishira ku kuboko kwa Yozefu, amwambika impuzu z’ilino* nziza yongera amwambika urunigi rw’inzahabu mw’izosi+. 43 Vyongeye, amwuriza umukogote w’iteka ugira kabiri yari afise+, kugira basemerere imbere yiwe ngo: “Avreki!” Ukwo ni ko yamushinze kugaba igihugu cose ca Misiri.
44 Farawo yongera kubwira Yozefu ati: “Ndi Farawo, mugabo udatanze uruhusha nta kizokorwa* mu gihugu cose ca Misiri+.” 45 Inyuma y’ivyo Farawo yita Yozefu izina Zafenati-paneya, yongera amuha Asenati+ umukobwa wa Potifera umuherezi w’i Oni+ ngo amubere umugore. Nuko Yozefu atangura kugendagenda mu gihugu ca Misiri+. 46 Yozefu yari afise imyaka mirongo itatu+ igihe yahagarara imbere ya Farawo umwami wa Misiri.
Nuko Yozefu arasohoka avuye imbere ya Farawo, agendagenda mu gihugu cose ca Misiri. 47 Muri ya myaka indwi y’umusesekara igihugu kibandanya kwimbuka vyinshivyinshi+. 48 Na we yaguma yegeranya ivyo kurya vyose vy’iyo myaka indwi yaje ku gihugu ca Misiri, agashira nya vyo kurya mu bisagara+. Ivyo kurya vyo mu ndimiro yari hirya no hino y’igisagara yabishira hagati muri co+. 49 Nuko Yozefu abandanya kurundanya intete nyinshi cane+, nk’umusenyi w’ikiyaga, gushika amaherezo bahevye guharūra, kuko zitagira igitigiri+.
50 Imbere y’uko umwaka w’ikigoyi ushika, Yozefu avyarirwa abahungu babiri+, abo Asenati umukobwa wa Potifera umuherezi w’i Oni yamuvyariye. 51 Nuko Yozefu yita imfura Manase+, kuko yavuga ati: “Imana yanyibagije ivyago vyanje vyose n’inzu ya dawe yose+.” 52 Uwugira kabiri na we amwita Efurayimu+, kuko yavuga ati: “Imana yatumye ndondokera mu gihugu c’uburushwa bwanje+.”
53 Amaherezo ya myaka indwi y’umusesekara wari wabaye mu gihugu ca Misiri irahera+, 54 ya myaka indwi y’ikigoyi na yo itangura kuza, nk’uko Yozefu yari yaravuze+. Nuko nya kigoyi kiba mu bihugu vyose, mugabo mu gihugu cose ca Misiri hari umukate+. 55 Amaherezo igihugu cose ca Misiri cicwa n’ikigoyi, abantu batangura kuririra Farawo basaba umukate+. Maze Farawo abwira Abanyamisiri bose ati: “Nimugende kuri Yozefu. Ico ababwira cose mugikore+.” 56 Kandi nya kigoyi carabica bigacika kw’isi yose+. Yozefu atangura rero kwugurura ibigega vyose vy’intete vyari muri bo no kuzigurisha ku Banyamisiri+, kuko ikigoyi cari kibangamiye rwose igihugu ca Misiri. 57 Vyongeye, abantu bo kw’isi yose baza mu Misiri kugura intete kuri Yozefu, kuko ikigoyi cari cacakiye isi yose bimwe bikomeye+.
42 Amaherezo Yakobo abona yuko hari intete mu Misiri+. Maze Yakobo abwira abahungu biwe ati: “Kubera iki muguma murabana?” 2 Yongerako ati: “Ehe numvise yuko hari intete mu Misiri+. Nimumanukeyo mutugurire intete, kugira tubandanye kubaho, ntidupfe.” 3 Nuko bene wabo+ na Yozefu cumi bamanuka kugura intete mu Misiri. 4 Ariko Benyamini+ mwene wabo na Yozefu, Yakobo ntiyamurungikana na bene wabo bandi, kuko yavuga ati: “Yohava ashikirwa n’isanganya ryica+.”
5 Nuko bene Isirayeli bazanana n’abandi bari baje kugura intete, kuko hari ikigoyi mu gihugu ca Kanani+. 6 Kandi Yozefu ni we yaganza igihugu+. Ni we yagurisha intete ku bantu bose bo kw’isi+. Bene wabo na Yozefu baraza, maze baramwunamira, mu maso habo hakora hasi+. 7 Yozefu abonye bene wabo, aca arabamenya, mugabo ariyoberanya kuri bo+. Arabakarira mu kubavugisha, ababwira ati: “Muva he?” Na bo bati: “Mu gihugu ca Kanani, kugira tugure ivyo kurya+.”
8 Gutyo Yozefu amenya bene wabo, mugabo bo ntibamumenya. 9 Yozefu aca yibuka indoto yari yararose ku biberekeye+; yongera ababwira ati: “Muri abatasi! Mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya+!” 10 Maze bamubwira bati: “Oya mukama wanje+, ahubwo abasuku bawe+ baje kugura ivyo kurya. 11 Twese turi abahungu bavuka ku mugabo umwe. Turi abantu bagororotse. Abasuku bawe si abatasi+.” 12 Mugabo ababwira ati: “Si vyo! Kuko mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya+!” 13 Na bo bavuga bati: “Abasuku bawe tuvukana+ turi cumi na babiri. Turi abahungu bavuka ku mugabo umwe+ mu gihugu ca Kanani; kandi umuhererezi uno musi ari kumwe na data+, uwundi na we ntakiriho+.”
14 Ariko Yozefu ababwira ati: “Ni vyo nababwiye, nti: ‘Muri abatasi!’ 15 Iki ni co kizobageza. Ndahiye ukubaho kwa Farawo: ntimuzova ng’aha umuhererezi wanyu adashitse aha+. 16 Rungika umwe muri mwebwe aje kuzana mwene wanyu, namwe musigare muboshwe, kugira amajambo yanyu agezwe, bimenyekane ko ivyo muvuga ari ukuri+. Ahandiho, ndahiye ukubaho kwa Farawo: muri abatasi.” 17 Nuko abashira hamwe aho bacungirwa imisi itatu.
18 Hanyuma ku musi ugira gatatu, Yozefu ababwira ati: “Nimugenze mutya, mubone kuguma muri bazima. Ntinya+ Imana y’ukuri. 19 Nimba muri abantu bagororotse, umwe muri bene wanyu nasigare abohewe mu nzu mucungiwemwo+, ariko mwebwe abasigaye mugende, mutware intete ku bw’ikigoyi kiri mu mazu yanyu+. 20 Maze muzonzanire umuhererezi wanyu, kugira amajambo yanyu aboneke ko ari ayo kwizigirwa; namwe ntimuzopfa+.” Nuko bakora kuno.
21 Batangura kubwirana bati: “Ni ukuri turi n’ikitwagira ku bijanye na mwene wacu+, kuko twabonye amarushwa yiwe igihe yatakamba asaba ngo tumwumvire impuhwe, ariko ntitwumvirize. Ni co gituma aya marushwa adushikiye+.” 22 Maze Rubeni arabishura ati: “Sinababwiye nti: ‘Ntimucumure kuri uwo mwana’? Mugabo ntimwanyumvirije+. Ubu rero amaraso yiwe ng’ayo arishujwe+.” 23 Ariko bo ntibari bazi ko Yozefu yariko aravyumva, kuko hari umusobanuzi hagati yabo. 24 Nuko yigira kure yabo, atangura kurira+. Maze agaruka aho bari, avugana na bo; atora Simeyoni+ muri bo, amuboha babona+. 25 Hanyuma Yozefu atanga itegeko, maze buzuza intete ivyo batekeramwo. Bategerezwa kandi gusubiza amahera ya nya bantu mu mupfuko w’umwumwe wese ukwiwe+, no kubaha impamba y’urugendo+. Babagirira kuno.
26 Nuko bashira intete zabo ku ndogobwa zabo, bafata inzira bava ng’aho. 27 Maze umwe yuguruye umupfuko wiwe kugira agaburire indogobwa yiwe bari ahantu h’uburaro+, aza abona amahera yiwe, ari mu munwa w’isaho yiwe+. 28 Aca abwira bene wabo ati: “Bansubije amahera yanje kandi ehe ng’aya ari mw’isaho yanje!” Maze imitima yabo iradendebuka, umwe wese ahindukira kuraba uwundi, bajugumira+, bavuga bati: “Ibi ni ibiki Imana yadukoreye+?”
29 Amaherezo bashika kwa Yakobo se mu gihugu ca Kanani, bamubwira ibintu vyose vyari vyabashikiye, bati: 30 “Umugabo aganza ico gihugu yaradukariye mu kutuvugisha+, kuko yadufashe nk’abantu batata igihugu+. 31 Mugabo twamubwiye duti: ‘Turi abantu bagororotse+. Ntituri abatasi. 32 Tuvukana turi cumi na babiri+, tukaba dusangiye data+. Umwe ntakiriho+, umuhererezi na we uno musi ari kumwe na data mu gihugu ca Kanani+.’ 33 Ariko nya mugabo aganza ico gihugu yatubwiye+ ati: ‘Iki ni co kizomenyesha ko mugororotse+: Nimusige mwene wanyu umwe agumane nanje+. Maze mugire ico mutwaye ku bw’ikigoyi kiri mu mazu yanyu, mugende+. 34 Muheze munzanire umuhererezi wanyu, kugira menye yuko mutari abatasi, mugabo ko mugororotse. Mwene wanyu nzomubasubiza, kandi muzoshobora kugira urudandaza mu gihugu+.’”
35 Nuko bariko baracuranura imipfuko yabo, basanga umutekero w’amahera w’umwumwe wese mu mupfuko wiwe. Bo hamwe na se babona imitekero yabo y’amahera, baca bagira ubwoba. 36 Yakobo se aca ababwira ati: “Murampekuye+! Yozefu ntakiriho, na Simeyoni ntakiriho+, na Benyamini na we mugira mutware! Ivyo bintu vyose biranjeko!” 37 Ariko Rubeni abwira se wiwe ati: “Abahungu banje babiri uze ubice nintamukugarukanira+. Numunshinge, ni jewe nzomukugarukanira+.” 38 Mugabo avuga ati: “Umwana wanje ntazomanukana namwe, kuko mwene wabo yapfuye, na we akaba asigaye ari wenyene+. Hamwe isanganya ryica ryomushikira ku nzira mwojana, muzoba mutumye imvi zanje zimanukana intuntu mu kuzimu+.”
43 Kandi ikigoyi cari gikaze mu gihugu+. 2 Bakimara kurangiza kurya intete bari barakuye mu Misiri+, se ababwira ati: “Subireyo, mutugurire ibifungurwa bikeyi+.” 3 Mugabo Yuda amubwira+ ati: “Nya mugabo yaratwihanikirije bimwe bikomeye ati: ‘Ntimuze musubire kubona mu maso hanje mwene wanyu atari kumwe namwe+.’ 4 Niwarungika mwene wacu tukajana+, turiteguriye kumanuka kukugurira ibifungurwa. 5 Mugabo nutamurungika, ntituzomanuka, kuko nya mugabo yatubwiye koko ati: ‘Ntimuze musubire kubona mu maso hanje mwene wanyu atari kumwe namwe+.’” 6 Isirayeli avuga+ ati: “Kubera iki mwangiriye nabi mu kubwira nya mugabo ko mufise uwundi mwene wanyu?” 7 Na bo bavuga bati: “Nya mugabo yarabajije adacisha ku ruhande ibitwerekeye be n’ivyerekeye incuti zacu ati: ‘So aracariho+? Hari uwundi mwene wanyu mufise?’ Natwe tubimubwira nk’uko biri+. Twari kumenya gute koko yuko yovuze ati: ‘Nimumanukane mwene wanyu+’?”
8 Amaherezo Yuda abwira Isirayeli se wiwe ati: “Ndungikana n’uwo muhungu+, kugira duhaguruke tugende, tubone kuguma turi bazima ntidupfe+, twe nawe n’abana bacu batoyi+. 9 Ni je nzomwishinga+. Nze ndamuhanirwe+. Nintamukuzanira ngo ndamugushikirize, nzoba rero ngucumuyeko ibihe vyose. 10 Mugabo iyo tudahinahina, ubu twari kuba twagiye tukongera tukagaruka incuro zibiri+.”
11 Nuko Isirayeli se ababwira ati: “Nimba rero ari ukwo biri+, nimukore ibi: Nimutware ibintu vyiza kuruta ibindi vyo mu gihugu mu vyo mutekeramwo, mubimanukanire nya mugabo bwa ngabirano+: umusomozo+ mukeyi n’ubuki+ bukeyi, ibirirarira bimota neza vy’ibimera* n’ibishishwa vy’uburembo+, imise y’ikungu na shakedi*+. 12 Vyongeye, mwitwaze amahera agwijwe kabiri; amahera yasubijwe mu minwa y’amasaho yanyu muzoyasubizeyo+. Kumbure kwabaye ukwihenda+. 13 Mutore mwene wanyu maze muhaguruke, musubire kwa nya mugabo. 14 Kandi Imana Mushoboravyose ibahe kugirirwa ikigongwe imbere ya nya mugabo+, kugira abarekurire mwene wanyu wundi na Benyamini. Nanje nimba ari ngombwa ko mpekurwa, mpekurwe+ nta kundi!”
15 Nuko nya bagabo batora iyo ngabirano, bongera batora amahera agwijwe kabiri be na Benyamini. Maze barahaguruka, bamanuka mu Misiri, amaherezo bahagarara imbere ya Yozefu+. 16 Yozefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, aca abwira umuntu yari ajejwe inzu yiwe ati: “Jana abo bagabo i muhira uheze ukerere ibitungwa maze utegure+, kuko abo bagabo baza gusangira nanje ku mutaga.” 17 Buno nyene nya mugabo akora nk’uko Yozefu yari avuze+. Uwo mugabo ajana rero abo bagabo i muhira kwa Yozefu. 18 Mugabo nya bagabo bagira ubwoba kuko bari bajanywe i muhira kwa Yozefu+, maze batangura kuvuga bati: “Amahera twasubiranye inyuma mu masaho yacu mu ntango ni yo atumye tuzanwa ng’aha ngo badusimbireko, badusǔmire baheze badufate nk’abashumba be n’indogobwa zacu+!”
19 Ku bw’ivyo begera nya mugabo yari ajejwe inzu ya Yozefu maze bavuganira na we ku bwinjiriro bw’inzu, 20 bati: “Uradutunga mukama wanje! Twaramanutse koko mu ntango kugura ibifungurwa+. 21 Mugabo dushitse ahantu h’uburaro+ tugatangura kwugurura amasaho yacu, twagiye tubona amahera y’umwumwe wese ari mu munwa w’isaho yiwe, amahera yacu yose uko yangana. Twagomba rero kuyasubiza n’amaboko yacu bwite+. 22 Kandi twamanukanye ayandi mahera yo kugura ibifungurwa. Ntituzi vy’ukuri uwashize amahera yacu mu masaho yacu+.” 23 Maze avuga ati: “Mwebwe nta ngorane. Ntimutinye+. Imana yanyu ikaba n’Imana ya so yashize itunga mu masaho yanyu+. Amahera yanyu yabanje kuza kuri jewe.” Inyuma y’ivyo asohora Simeyoni amuzana iyo bari+.
24 Maze uwo mugabo azana nya bagabo mu nzu ya Yozefu hanyuma atanga amazi kugira bozwe ibirenge+, yongera atanga indya z’ibitungwa ku bw’indogobwa zabo+. 25 Nuko bategura ya ngabirano+ mu kurindira ko Yozefu aza ku mutaga, kuko bari bumvise yuko aho ari ho baza kurira umukate+. 26 Yozefu yinjiye mu nzu, bamuzanira rero mu nzu nya ngabirano bari bazanye, maze bakubita inkoro hasi imbere yiwe+. 27 Inyuma y’ivyo ababaza nimba bisohora maze avuga+ ati: “Mbega so, wa mutama mwavuga, arisohora? Aracariho+?” 28 Na bo bati: “Data umusavyi wawe arisohora. Aracariho.” Maze barunama, bakubita inkoro hasi+.
29 Araramuye amaso akabona Benyamini mwene wabo, umuhungu wa nyina+, aca avuga ati: “Uyu ni mwene wanyu, umwe w’umuhererezi mwambwira+?” Yongerako ati: “Imana ikugirire ubutoni+, mwananje.” 30 Maze Yozefu, kubera yari arengewe n’ikigumbagumba afitiye mwene wabo+, arihuta arondera aho aririra, aja mu cumba, aririrayo+. 31 Inyuma y’ivyo yiyoga mu maso hanyuma arasohoka, arigumya avuga+ ati: “Nimuzane ibifungurwa+.” 32 Bamuzanira ivyiwe ukwiwe, n’ivyabo ukwabo, n’ivy’Abanyamisiri basangira na we ukwabo; kuko Abanyamisiri batashobora gusangira imfungurwa n’Abaheburayo, kubera ko ico ari ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri+.
33 Kandi bicarikwa imbere yiwe, imfura yicara hisunzwe uburenganzira bwayo bw’imfura+, n’umuhererezi yicara hisunzwe ubuto bwiwe; kandi nya bagabo baguma barabana bumiwe. 34 Nuko aguma atuma barungikirwa imigabane ivuye imbere yiwe, mugabo akongereza umugabane wa Benyamini incuro zitanu kuruta uko imigabane y’abandi bose ingana+. Babandanya kwihereza inzimano no kunywa bari kumwe na we, barahaga+.
44 Mu nyuma ategeka umuntu yari ajejwe inzu yiwe+ ati: “Uzuza amasaho y’abo bagabo ibifungurwa, ivyo bashobora gutwara vyose, kandi ushire amahera y’umwumwe wese mu munwa w’isaho yiwe+. 2 Ariko ushire igikombe canje, ca gikombe c’ifeza, mu munwa w’isaho y’umuhererezi hamwe n’amahera y’intete ziwe.” Nuko akora nk’uko Yozefu avuze+.
3 Bumaze guca, nya bagabo barabarungika+, bo hamwe n’indogobwa zabo. 4 Barasohoka mu gisagara. Bataragera kure, Yozefu abwira wa muntu yari ajejwe inzu yiwe ati: “Haguruka, ukurikire abo bagabo, ubahamvye, maze ubabwire uti: ‘Kubera iki iciza mwacishuye ikibi+? 5 Mbega iki si co kintu databuja anyweramwo kandi akoresha mu gusoma atihenda ibimenyetso bitara ibizoba+? Mwakoze ikintu kibi.’”
6 Amaherezo arabahamvya, ababwira ayo majambo. 7 Mugabo bamubwira bati: “Kubera iki umukama wanje avuga amajambo nk’ayo? Ni ibitokwiyumvirwa ko abasavyi bawe bokora ikintu nk’ico. 8 Raba! Amahera twasanze mu munwa w’amasaho yacu twarayakugarukaniye tuyakuye mu gihugu ca Kanani+. None twoshobora gute kwiba ifeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja+? 9 Uwo bagisangana mu bashumba bawe apfe, natwe ubwacu ducike abashumba ba databuja+.” 10 Na we avuga ati: “Ubu rero nibibe nk’uko muvuze+. Uwo bagisangana azocika umushumba wanje+, mugabo mwebwe muzoba muri intungane.” 11 Nuko banyarutsa kwururutsa hasi amasaho, umwe wese isaho yiwe, maze umwe wese atekurura isaho yiwe. 12 Atangura gusaka yitonze. Ahera ku mukuru ahereza ku muhererezi. Amaherezo nya gikombe bagisanga mw’isaho ya Benyamini+.
13 Maze batantamura imitamana+ yabo, umwe wese asubiza umutwaro wiwe ku ndogobwa yiwe, basubira mu gisagara. 14 Nuko Yuda+ na bene wabo baragenda binjira mu nzu ya Yozefu, kandi ni ho yari akiri; maze bikubita imbere yiwe bashika hasi+. 15 Yozefu araheza ababwira ati: “Ico kintu mwakoze ni igiki? Ntimwari muzi yuko umuntu nkanje ashobora gusoma atihenda ibimenyetso bitara ibizoba+?” 16 Yuda aca avuga ati: “Mbega tubwire iki databuja? Tuvuge iki? Kandi twerekane gute ko tugororotse+? Imana y’ukuri yamenye ikosa ry’abashumba bawe+. Ehe turi abashumba ba databuja+, twe n’uwo basanganye igikombe!” 17 Ariko avuga ati: “Ni ibitokwiyumvirwa ko nokora ivyo+! Umuntu basanganye igikombe ni we acika umushumba wanje+. Nayo mwebwe abasigaye, nimuduge amahoro kwa so+.”
18 Nuko Yuda aramwegera, avuga ati: “Ndagusavye databuja, ndakwinginze ureke umushumba wawe avuge ijambo databuja yumva+, kandi ishavu ryawe+ ntirirurumbire umushumba wawe, kuko wewe uri nka Farawo+. 19 Databuja yabajije abashumba biwe ati: ‘Murafise so canke mwene wanyu?’ 20 Natwe tubwira databuja duti: ‘Turafise koko data ashaje n’umwana wo mu busaza bwiwe, umuhererezi+. Mugabo mwene wabo yarapfuye, ku buryo ari we wenyene asigaye kuri nyina+, kandi se wiwe aramukunda cane.’ 21 Inyuma y’ivyo wabwiye abashumba bawe uti: ‘Nimumumanukane iyo ndi kugira ndamubone*+.’ 22 Ariko twabwiye databuja duti: ‘Uwo muhungu ntashobora gusiga se wiwe. Hamwe yosiga se wiwe, yopfa ata kabuza+.’ 23 Maze wabwiye abashumba bawe uti: ‘Umuhererezi wanyu atamanukanye namwe, ntimushobora kwongera kubona mu maso hanje+.’
24 “Natwe twaraduze ku mushumba wawe dawe, tumubwira amajambo ya databuja. 25 Mu nyuma dawe yavuze ati: ‘Subireyo, mutugurire ibifungurwa bikeyi+.’ 26 Mugabo tuvuga duti: ‘Ntidushobora kumanuka. Nimba umuhererezi wacu ari kumwe natwe tuzomanuka, kuko tudashobora kubona mu maso ha nya mugabo, umuhererezi wacu atari kumwe natwe+.’ 27 Maze umushumba wawe dawe atubwira ati: ‘Ubwanyu murazi neza yuko umugore wanje yamvyariye abahungu babiri gusa+. 28 Mu nyuma umwe yaragiye atandukana nanje, maze mvuga nti: “Aaa, nta nkeka yaratabaguwe+!” Kandi sindamubona gushika n’ubu. 29 Hamwe mwotwara n’uyu akava mu maso yanje hanyuma agashikirwa n’isanganya ryica, nta nkeka mwoba mutumye imvi zanje zimanukana umubabaro mu kuzimu+.’
30 “Ubu rero, ninapfa gushika ku mushumba wawe dawe uwo muhungu atari kumwe natwe, kandi umutima wiwe ufatanye n’umutima w’uyu+, 31 niyapfa kubona ko uwo muhungu atari ho ari, azoca apfa, kandi abashumba bawe bazoba batumye imvi z’umushumba wawe data zimanukana intuntu mu kuzimu. 32 Kuko umushumba wawe ari we yishinze+ uwo muhungu mu gihe azoba ari kure ya se wiwe, mu kuvuga ati: ‘Nintamukugarukanira, nzoba rero ncumuye kuri dawe ibihe bidahera+.’ 33 Nuko rero, ndakwinginze, umushumba wawe asigare mu kibanza c’uwo muhungu abe umushumba wa databuja, kugira uwo muhungu adugane na bene wabo+. 34 Mbega noshobora nte kuduga kwa dawe uwo muhungu atari kumwe nanje? Kuko nohava nitegereza ivyago bizoshikira dawe+.”
45 Nuko Yozefu ntiyaba agishobora kwigumya imbere y’abari bahagaze iruhande yiwe bose+. Aca asemerera ati: “Nimusohore abantu bose bamve iruhande!” Nta wundi yari ahagararanye na we igihe Yozefu yimenyesha bene wabo+.
2 Maze ashira ijwi hejuru arira+, Abanyamisiri baravyumva n’inzu ya Farawo iravyumva. 3 Amaherezo Yozefu abwira bene wabo ati: “Ndi Yozefu. Mbega dawe aracariho?” Ariko bene wabo ntibashobora kumwishura, kuko bari bahagaritse umutima kubera we+. 4 Yozefu abwira bene wabo ati: “Enda nimunyegere.” Na bo baramwegera.
Hanyuma avuga ati: “Ndi Yozefu mwene wanyu, uwo mwagurishije mu Misiri+. 5 Ariko ubu ntimubabare+, kandi ntimwiteko ishavu kubera mwangurishije ino; kuko Imana yandungitse imbere yanyu ku bwo kuzigama ubuzima+. 6 Kuko uyu ari umwaka ugira kabiri w’ikigoyi mw’isi+, kandi haracasigaye imyaka itanu itazobamwo igihe c’irima canke iyimbura+. 7 Imana rero yandungitse imbere yanyu kugira ndabashirireho amasigarira+ mw’isi, no kugira ntume mubandanya kubaho mu kubarokora mu buryo buhambaye. 8 Nuko rero, si mwebwe mwandungitse ino+, ahubwo ni Imana y’ukuri, kugira ingire nka se+ wa Farawo, n’umukuru* w’inzu yiwe yose, n’uwuganza igihugu cose ca Misiri.
9 “Nimuduge ningoga kwa dawe, mumubwire muti: ‘Ibi ni vyo umuhungu wawe Yozefu avuze: “Imana yampaye kuganza Misiri yose+. Manuka uze iyo ndi. Ntutebagane. 10 Uzoba mu gihugu ca Gosheni+, kandi uzoguma hafi yanje, mwe n’abahungu bawe, n’abahungu b’abahungu bawe, n’imikuku yawe n’amasho yawe, n’ivyawe vyose. 11 Aho ni ho nzokuronkereza ibifungurwa, kuko hagisigaye imyaka itanu y’ikigoyi+; kugira ngo wewe n’inzu yawe n’ivyawe vyose ntimuje mu bukene.”’ 12 Kandi ehe amaso yanyu n’amaso ya mwene wacu Benyamini aribonera yuko akanwa kanje ari ko kariko kavugana namwe+. 13 Muze mwiganire dawe rero ubuninahazwa bwose mfise mu Misiri be n’ivyo mwabonye vyose; muze mwihutire kumanukana dawe ino.”
14 Maze agwa mw’izosi Benyamini mwene wabo, araturikisha ararira, Benyamini na we amuririra kw’izosi+. 15 Hanyuma asoma bene wabo bose yongera abaririrako+, bene wabo babona kuyaga na we.
16 Nuko inkuru yumvikana mu nzu ya Farawo, ngo: “Bene wabo na Yozefu baje!” Biba vyiza mu maso ya Farawo no mu maso y’abasuku biwe+. 17 Farawo rero abwira Yozefu ati: “Bwira bene wanyu uti: ‘Nimugire mutya: Nimuremeke ibintu vyanyu ibitwazi vyanyu mugende, mwinjire mu gihugu ca Kanani+, 18 muheze mutore so n’ingo zanyu maze muze ino aho ndi, kugira ndabahe ivyiza vy’igihugu ca Misiri; kandi murye umwimbu unuze w’igihugu+. 19 Nawe ubwawe utegetswe+ kubabwira uti: “Nimugire mutya: Nimwironse imikogote+ mu gihugu ca Misiri yo kuzana abana banyu batoyi n’abagore banyu, kandi muze mushire so kuri umwe muheze muze ino+. 20 Ijisho ryanyu ntirigirire akagongwe ibikoresho vyanyu+, kuko ivyiza vy’igihugu cose ca Misiri ari rwanyu+.”’”
21 Bene Isirayeli baca bagira gutyo; Yozefu abaha imikogote nk’uko Farawo yategetse, abaha n’impamba+ ku bw’inzira. 22 Umwe wese muri bo amuha imitamana yo gukuranya+ yiwe bwite, mugabo aha Benyamini ibice amajana atatu vy’ifeza n’imitamana itanu yo gukuranya+. 23 Se wiwe na we amurungikira ibi: indogobwa cumi zitwaye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, n’indogobwa z’ingore cumi zitwaye intete n’umukate, n’ivyo kurya vya se wiwe ku bw’inzira. 24 Nuko arungika bene wabo, na bo baragenda. Ariko ababwira ati: “Ntimutaneko ishavu mu nzira+.”
25 Nuko baraduga bavuye mu Misiri, amaherezo bashika mu gihugu ca Kanani kwa Yakobo se. 26 Bamumenyesha bati: “Yozefu aracariho, kandi ni we aganza igihugu cose ca Misiri+!” Mugabo umutima wiwe uratimba, kuko atemera ivyo bavuga+. 27 Babandanije kumubwira amajambo ya Yozefu yose, ayo yari yababwiye, akabona n’imikogote Yozefu yari yarungitse kumutwara, Yakobo se atangura kugarura agatege*+. 28 Maze Isirayeli aratangara ati: “Biramaze! Yozefu umuhungu wanje aracariho! Aaa, reka ngende ndamubone imbere y’uko mpfa+!”
46 Nuko Isirayeli n’abiwe bose bafata inzira hanyuma bashika i Beyeri-sheba+, atangura gushikanira ibimazi Imana ya se wiwe Izahaki+. 2 Maze Imana ivugana na Isirayeli mw’iyerekwa ryo mw’ijoro iti+: “Yakobo, Yakobo!” Na we ati: “Ndi hano+!” 3 Irongera iti: “Ndi Imana y’ukuri+, Imana ya so+. Ntutinye kumanuka mu Misiri, kuko nzoguhindurirayo ihanga rikomeye+. 4 Jewe ubwanje nzomanukana nawe mu Misiri, kandi jewe nyene nzokudugana ndagukureyo ata kabuza+; kandi Yozefu azoshira ikiganza ciwe ku maso yawe*+.”
5 Inyuma y’ivyo Yakobo arahaguruka ava i Beyeri-sheba; nuko bene Isirayeli babandanya gutwara Yakobo se, n’abana babo batoyi n’abagore babo, mu mikogote Farawo yari yarungitse kumutwara+. 6 Vyongeye, bajana n’amasho yabo n’ibintu vyabo, ivyo bari bararundanije mu gihugu ca Kanani+. Amaherezo binjira mu Misiri, Yakobo n’uruvyaro rwiwe rwose. 7 Ajana mu Misiri abahungu biwe n’abahungu b’abahungu biwe, abakobwa biwe n’abakobwa b’abahungu biwe, emwe, uruvyaro rwiwe rwose+.
8 Aya rero ni yo mazina ya bene Isirayeli binjiye mu Misiri+: Yakobo n’abahungu biwe: imfura ya Yakobo yari Rubeni+.
9 Bene Rubeni na bo bari Hanoki na Palu na Hezironi na Karumi+.
10 Bene Simeyoni+ bari Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini+, Zohari, na Shawuli+ umuhungu w’umugore w’Umunyakananikazi.
11 Bene Lewi+ bari Gerishoni+, Kohati+ na Merari+.
12 Bene Yuda+ bari Ere+, Onani+, Shela+, Perezi+ na Zera+. Ariko Ere na Onani bapfiriye mu gihugu ca Kanani+.
Bene Perezi na bo bari Hezironi+ na Hamuli+.
13 Bene Isakari+ bari Tola+, Puva+, Iyobu na Shimuroni+.
14 Bene Zebuloni+ bari Seredi, Eloni na Yahileyeli+.
15 Abo ni bo bahungu ba Leya+, abo yavyariye Yakobo i Padani-aramu, hamwe n’umukobwa wiwe Dina+. Abamukomotseko bose bari mirongo itatu na batatu.
16 Bene Gadi+ bari Zifiyoni na Hagi, Shuni na Eziboni, Eri na Arodi na Areli+.
17 Bene Asheri+ bari Imuna na Ishiva na Ishivi na Beriya+, hakaba na Sera mushiki wabo.
Bene Beriya na bo bari Heberi na Malikiyeli+.
18 Abo ni bo bahungu ba Zilupa+, uwo Labani yahaye umukobwa wiwe Leya. Abo ni bo yahavuye avyarira Yakobo: abantu cumi na batandatu.
19 Abahungu ba Rasheli+ umugore wa Yakobo, bari Yozefu+ na Benyamini+.
20 Mu gihugu ca Misiri Yozefu ahavyarira Manase+ na Efurayimu+, abo Asenati+ umukobwa wa Potifera umuherezi w’i Oni yamuvyariye.
21 Bene Benyamini bari Bela+, Bekeri+, Ashubeli, Gera+, Namani+, Ehi, Roshi, Mupimu+, Hupimu+ na Arudi.
22 Abo ni bo bahungu Rasheli yavyariye Yakobo. Abantu bose bari cumi na bane.
24 Bene Nafutali+ bari Yahizeyeli na Guni+ na Yezeri na Shilemu+.
25 Abo ni bo bene Biluha+, uwo Labani yahaye umukobwa wiwe Rasheli. Abo ni bo yahavuye avyarira Yakobo; abantu bose bari indwi.
26 Abantu bose ba Yakobo binjiye mu Misiri bari abakomotse kuri we*+, uretse abagore ba bene Yakobo. Bose bari mirongo itandatu na batandatu. 27 Kandi bene Yozefu, abo yavyariwe mu Misiri, bari abantu babiri. Abantu bose b’inzu ya Yakobo binjiye mu Misiri bari mirongo irindwi+.
28 Nuko arungika Yuda+ ngo amwitangire imbere aje kuri Yozefu, kugira abe aramenyesha iyo nkuru i Gosheni. Inyuma y’ivyo binjira mu gihugu ca Gosheni+. 29 Maze Yozefu avuga ko bategura umukogote wiwe hanyuma aduga gusanganira Isirayeli se wiwe i Gosheni+. Aserutse imbere yiwe aca amugwa mw’izosi, aririra kw’izosi ryiwe incuro n’izindi+. 30 Amaherezo Isirayeli abwira Yozefu ati: “Ubu ninshake nipfire+, ko mbonye mu maso hawe, kuko ukiri muzima.”
31 Maze Yozefu abwira bene wabo n’urugo rwa se wiwe ati: “Reka nduge kumenyesha Farawo, ndamubwire+ nti: ‘Bene wacu n’urugo rwa dawe, abahora mu gihugu ca Kanani, baje ng’aha aho ndi+. 32 Abo bagabo ni abungere+, kuko bacitse aborozi+; kandi imikuku yabo n’amasho yabo n’ivyo bafise vyose babizanye ng’aha+.’ 33 Farawo niyabahamagara akababwira ati: ‘Mukora akazi nyabaki?’, 34 muze kuvuga muti: ‘Abasavyi bawe twamye turi aborozi kuva mu buto bwacu gushika n’ubu, twe na ba sogokuruza bacu+,’ kugira mube mu gihugu ca Gosheni+, kuko umwungere w’intama wese ari ikintu giteye ishishi kuri Misiri+.”
47 Yozefu rero araza, amenyesha Farawo ati+: “Dawe na bene wacu, imikuku yabo n’amasho yabo, n’ivyo bafise vyose, baje bavuye mu gihugu ca Kanani, kandi ehe bari mu gihugu ca Gosheni+.” 2 Atora abagabo batanu muri bene wabo bose, kugira abajane imbere ya Farawo+.
3 Maze Farawo abwira bene wabo ati: “Mukora akazi nyabaki+?” Nuko babwira Farawo bati: “Abasavyi bawe turi abungere b’intama+, twebwe na ba sogokuruza bacu+.” 4 Inyuma y’ivyo babwira Farawo bati: “Twaje kuba mu gihugu turi ba kavamahanga+, kuko ata buragiriro buhari ku bw’umukuku abasavyi bawe bafise+, kuko ikigoyi gikaze mu gihugu ca Kanani+. None rero turakwingize ureke abasavyi bawe babe mu gihugu ca Gosheni+.” 5 Nuko Farawo abwira Yozefu ati: “So na bene wanyu baje ng’aha kuri wewe. 6 Igihugu ca Misiri kiri imbere yawe+. Nucumbikire so na bene wanyu mu gice ciza cane kuruta ibindi vyose mu gihugu+. Nibabe mu gihugu ca Gosheni+, kandi nimba uzi yuko muri bo hari abagabo b’umutima rugabo+, uze ubagene babe abakuru b’amasho yanje+.”
7 Maze Yozefu yinjiza Yakobo se wiwe araheza amumenyekanisha kuri Farawo, hanyuma Yakobo atangura guhezagira Farawo+. 8 Farawo aca abwira Yakobo ati: “Umaze imyaka ingahe?” 9 Nuko Yakobo abwira Farawo ati: “Imyaka maze ndi kavamahanga ni ijana na mirongo itatu+. Imyaka maze yabaye mike iba n’iyiteye umubabaro+, kandi ntiyashikiriye imyaka ya ba dawe, iyo bamaze ari ba kavamahanga+.” 10 Inyuma y’ivyo Yakobo ahezagira Farawo hanyuma arasohoka avuye imbere ya Farawo+.
11 Gutyo Yozefu agerera se wiwe na bene wabo, abaha itongo bigabira mu gihugu ca Misiri, mu gice ciza cane kuruta ibindi vyose vy’igihugu, mu gihugu ca Ramesesi+, nk’uko Farawo yari yategetse. 12 Yozefu aguma aronsa umukate se wiwe na bene wabo n’urugo rwose rwa se wiwe+, nk’uko igitigiri c’abana batoyi+ kiri.
13 Nuko ntihaboneka umukate mu gihugu cose, kuko ikigoyi cari gikaze cane+; igihugu ca Misiri n’igihugu ca Kanani biruhishwa n’ikigoyi+. 14 Yozefu atora amahera yose yari mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanani abantu batanga ku bw’intete bariko baragura+; nuko Yozefu aguma azana nya mahera mu nzu ya Farawo. 15 Amaherezo amahera yo mu gihugu ca Misiri no mu gihugu ca Kanani arahera, maze Abanyamisiri bose batangura kuza kuri Yozefu, bavuga bati: “Duhe umukate+! Kuki twopfira imbere yawe kubera amahera yaheze+?” 16 Maze Yozefu avuga ati: “Nimutange ibitungwa vyanyu mpeze ndabahe umukate, tuwukabe ibitungwa vyanyu, nimba amahera yaheze.” 17 Nuko batangura kuzanira Yozefu ibitungwa vyabo; Yozefu na we aguma abaha umukate bawukavye amafarasi yabo n’ibitungwa vy’umukuku n’ibitungwa vy’ubusho n’indogobwa+, aguma abaronsa umukate bawukavye ibitungwa vyabo vyose muri uwo mwaka.
18 Amaherezo uwo mwaka urarangira, hanyuma batangura kuza kuri we mu mwaka ukurikira bamubwira bati: “Ntitwohisha umukama wanje yuko amahera n’ubusho bw’ibitungwa vyarangiriye ku mukama wanje+. Nta gisigaye imbere y’umukama wanje atari imibiri yacu n’amatongo yacu+. 19 Kubera iki twogupfira mu maso+, n’amatongo yacu agacika umusaka? Twe n’amatongo yacu nutugure umukate+, maze twe n’amatongo yacu ducike abashumba ba Farawo; kandi uduhe imbuto kugira tubeho ntidupfe, n’amatongo yacu ntacike umusaka+.” 20 Nuko Yozefu agurira Farawo amatongo yose y’Abanyamisiri+, kubera ko Abanyamisiri bagurishije umwe wese itongo ryiwe, kuko ikigoyi cari cabacakiye bimwe bikomeye; nuko ayo matongo aba aya Farawo.
21 Nayo abantu, abimurira mu bisagara guhera ku mpera imwe y’akarere ka Misiri gushika ku yindi+. 22 Amatongo y’abaherezi ni yo gusa ataguze+, kuko ibifungurwa vy’abaherezi vyava kuri Farawo, bakaba barya ibifungurwa Farawo yabaha+. Ni co catumye batagurisha amatongo yabo+. 23 Maze Yozefu abwira abantu ati: “Raba, uno musi ndabaguze mwebwe n’amatongo yanyu ngo mube aba Farawo. Ng’izi imbuto muhawe; muze muziteragire mu matongo+. 24 Nizavamwo umwimbu+, mutegerezwa rero guha Farawo ica gatanu+, mugabo ibice bine bizoba rwanyu bibe imbuto y’imirima, n’ibifungurwa vyanyu, n’ivy’abari mu mazu yanyu be n’ivyo kurya vy’abana banyu batoyi+.” 25 Nuko bavuga bati: “Uzigamye ubuzima bwacu+. Nitugire ubutoni mu maso y’umukama wanje, maze tuzoba abashumba ba Farawo+.” 26 Yozefu aca ashinga ingingo, iyigikurikizwa gushika n’uyu musi ku matongo ya Misiri, yuko Farawo yoza araronka gushika ku bingana n’ica gatanu. Amatongo y’abaherezi, uko bagize umugwi uri ukwawo, ni yo gusa atacitse aya Farawo+.
27 Isirayeli abandanya kuba mu gihugu ca Misiri, mu gihugu ca Gosheni+; Abisirayeli bakibamwo, bararondoka, baba benshi cane+. 28 Yakobo abandanya kuba mu gihugu ca Misiri imyaka cumi n’indwi, ku buryo imisi ya Yakobo, imyaka y’ubuzima bwiwe, iba imyaka ijana na mirongo ine n’indwi+.
29 Amaherezo igihe c’uko Isirayeli apfa kiregereza+. Ahamagara rero umuhungu wiwe Yozefu maze amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, ndakwinginze ushire ukuboko kwawe munsi y’itako+ ryanje, undahire yuko uzongirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+. (Ndakwinginze ntuze umpambe mu Misiri+.) 30 Nzoryama hamwe na ba dawe+, nawe uze unkure mu Misiri umpambe mu mva yabo+.” Nuko rero avuga ati: “Jewe ubwanje nzogira nk’uko uvuze.” 31 Maze avuga ati: “Ndahira.” Nuko aramurahira+. Isirayeli aca yunama ku mutwe w’uburiri+.
48 Inyuma y’ivyo, babwira Yozefu ngo: “Ehe, amagara ya so wawe ariko arayonga.” Nuko ajana n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu+. 2 Maze bamenyesha Yakobo bati: “Ehe umuhungu wawe Yozefu araje kukuraba.” Nuko Isirayeli arinanata n’utuguvu twiwe twose, yicara ku buriri bwiwe. 3 Maze Yakobo abwira Yozefu ati:
“Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Luzi+ mu gihugu ca Kanani kugira impezagire+. 4 Iraheza imbwira iti: ‘Ehe ngira ndakurondore+, kandi nzokugwiza, ndaguhindure ishengero ry’ibisata vy’abantu+ kandi iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe mu nyuma zawe kugira rube itongo rwigabira gushika igihe kitagira urugero+.’ 5 Ubu rero abahungu bawe babiri wavyariwe mu gihugu ca Misiri imbere y’uko nza aha uri mu Misiri, ni abanje+. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeyoni+. 6 Mugabo uruvyaro uzovyara mu nyuma zabo ruzoba rwawe. Bazohamagarwa gutorana kw’izina rya bene wabo+. 7 Nayo jewe, igihe nariko ndava i Padani+, Rasheli yarampfiriyeko+ ku nzira mu gihugu ca Kanani, hagisigaye akarere katari gato ngo nshike muri Efurata+, ku buryo namuhamvye ng’aho ku nzira ija muri Efurata, ni ukuvuga Betelehemu+.”
8 Maze Isirayeli abona abahungu ba Yozefu, avuga ati: “Abo ni bande+?” 9 Yozefu aca abwira se wiwe ati: “Ni abahungu banje Imana yampereye aha hantu+.” Na we avuga ati: “Ndakwinginze ubanzanire ndabahezagire+.” 10 Kandi amaso ya Isirayeli yari asigaye abona ivyijiji kubera ubusaza+. Ntiyashobora kubona. Nuko abazana hafi yiwe, arabasoma yongera arabagumbira+. 11 Hanyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: “Sinari nizigiye kubona mu maso hawe+, ariko raba Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.” 12 Inyuma y’ivyo Yozefu abakura mu mavi ya se, araheza arunama mu maso hiwe hakora hasi+.
13 Nuko Yozefu arabafata uko ari babiri, Efurayimu mu kuryo kwiwe ku buryo aherera ibubamfu bwa Isirayeli+, Manase na we mu kubamfu kwiwe ku buryo aherera iburyo bwa Isirayeli+, araheza abazana hafi yiwe. 14 Ariko Isirayeli atuma ukuryo kwiwe, agushira ku mutwe wa Efurayimu+, naho ari we yari mutoyi+, ukubamfu kwiwe na kwo agushira ku mutwe wa Manase+. Amaboko yiwe yayagize gutyo ibigirankana, kuko Manase ari we yari imfura+. 15 Nuko atangura guhezagira Yozefu ati+:
“Mana y’ukuri ba data Aburahamu na Izahaki bagendeye imbere+,
Mana y’ukuri yandagiye mu kubaho kwanje kwose gushika uno musi+,
16 Umumarayika yagiye arankiza mu vyago vyose+, hezagira aba bahungu+.
Kandi nibitirirwe izina ryanje n’izina rya ba data, Aburahamu na Izahaki+,
Kandi nibongerekane babe benshi mw’isi+.”
17 Yozefu abonye yuko se wiwe agumije ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza+, maze agerageza gufata ukuboko kwa se wiwe ngo agukure ku mutwe wa Efurayimu agushire ku mutwe wa Manase+. 18 Nuko Yozefu abwira se wiwe ati: “Si ukwo dawe, kuko uyu ari we mfura+. Shira ukuryo kwawe ku mutwe wiwe.” 19 Mugabo se wiwe aranka, avuga ati: “Ndabizi, mwananje, ndabizi. Na we nyene azoba igisata c’abantu, kandi na we nyene azoba uwukomeye+. Yamara rero, murumunawe azoba uwukomeye kumurusha+, kandi uruvyaro rwiwe ruzogwira cane ku buryo ruvamwo amahanga akwiye+.” 20 Nuko abandanya kubahezagira kuri uwo musi+ ati:
“Biciye kuri wewe, Isirayeli nahezagire yisubiriza ati:
‘Imana ikugire nka Efurayimu yongere ikugire nka Manase+.’”
Gutyo aguma ashira Efurayimu imbere ya Manase+.
21 Maze Isirayeli abwira Yozefu ati: “Ehe ngira mpfe+, mugabo Imana izogumana namwe koko, ibasubize mu gihugu ca ba sogokuruza banyu+. 22 Nayo jewe, nguhaye igihimba kimwe* c’igihugu kuruta bene wanyu+, ico nakuye mu kuboko kw’Abamori nkoresheje inkota yanje n’umuheto wanje.”
49 Mu nyuma Yakobo ahamagara abahungu biwe, avuga ati: “Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira mu kiringo ca nyuma c’imisi. 2 Nimukorane mwumvirize, yemwe bene Yakobo, egome, nimwumvirize so Isirayeli+.
3 “Rubeni, uri imfura yanje+, ingoga zanje n’ubuzibūra bwanje*+, agahebuza mw’iteka n’agahebuza mu nkomezi. 4 Kubera ukwirekura nk’amazi ata kwigengesera, ntukabe agahebuza+, kuko wuriye ku gitanda ca so+. Ico gihe wahumanije uburiri bwanje+. Yarabwuriyeko!
5 “Simeyoni na Lewi baravukana+. Ibirwanisho vyabo vyo kwica ni ibikoresho vy’ubukazi+. 6 Ntiwinjire mu mugwi wabo w’abagenzi somambike+, ewe mutima wanje! Ntukifatanye n’ishengero ryabo+, ewe muzirikanyi wanje, kuko bishe abantu mw’ishavu ryabo+, bagaca ibitsi amashūri mu gukora uko bigombeye. 7 Ishavu+ ryabo rirakavumwa, kuko ari rinyamaswa+, n’uburake bwabo, kuko bukara+. Reka ndabagabanganye muri Yakobo, kandi reka ndabasanzaze muri Isirayeli+.
8 “Nayo wewe Yuda+, bene wanyu bazoguhaya+. Ukuboko kwawe kuzoba ku gakanu k’abansi bawe+. Abana ba so bazokubita inkoro hasi imbere yawe+. 9 Yuda ni icana c’intambwe+. Uzoduga, mwananje, uvuye ku cacakiwe. Yarunamye, yarigoroye nk’intambwe, kandi vyongeye, nka kurya kw’intambwe, ni nde yokwubahuka kumuvyura+? 10 Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda+, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje+; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira+. 11 Azozirika indogobwa yiwe ikuze ku muzabibu, azirike n’inyana y’indogobwa yiwe ivyara ku muzabibu w’indobanurwa; emwe, azomesa ivyambarwa vyiwe mu muvinyu, n’impuzu yiwe mu maraso y’inzabibu+. 12 Amaso yiwe aratukuriye kubera umuvinyu, kandi amenyo yiwe arera kubera amata.
13 “Zebuloni azoba iruhande y’inkengera y’ikiyaga+, kandi azoba iruhande y’inkengera aho imeri zihagarara zakoroye inanga+; kandi uruhande rwiwe rwa kure ruzoba ruherereye i Sidoni+.
14 “Isakari+ ni indogobwa y’amagufa akomeye, iryamye hagati y’amasaho abiri yo kw’itandiko. 15 Kandi azobona ko ahantu h’ukuruhukira ari heza be n’uko igihugu gihimbaye; vyongeye, azoheta urutugu rwiwe kugira atware imizigo, kandi azokoreshwa ibikorwa vy’agahato vy’ubushumba.
16 “Dani azocira imanza abantu biwe ari umwe mu miryango ya Isirayeli+. 17 Dani nabe inzoka iruhande y’ibarabara, inzoka y’amahembe iruhande y’inzira, ikomora ibitsintsiri vy’ifarasi ku buryo uwuyigenderako agwira umugongo+. 18 Emwe, nzorindira ubukiriro bwawe, Yehova we+!
19 “Nayo Gadi, akagwi k’abambuzi kazomutera, ariko we azotera igice c’inyuma gihereza+.
20 “Asheri azokwamukako umukate unuze+, kandi azotanga ibifungurwa binovera vy’umwami+.
21 “Nafutali+ ni impongokazi irehutse. Atanga amajambo y’igikundiro+.
22 “Yozefu ni umuvyaro w’igiti cama ivyamwa+, umuvyaro w’igiti cama ivyamwa iruhande y’isôko+, kirungika amashami yaco hejuru akarenga uruhome+. 23 Mugabo abarashi bagumye bamutoteza, baramurasa, kandi bari bamubikiye akazikira+. 24 Yamara umuheto wiwe waba ahantu hamaho+, kandi inkomezi z’amaboko yiwe zari zinonotse+. Mu maboko y’Umunyabubasha wa Yakobo+ ni ho hava Umwungere, Ibuye rya Isirayeli+. 25 Ava ku Mana ya so+, kandi azogufasha+; ari kumwe na Mushoboravyose+, kandi azoguhezagira n’imihezagiro yo mu majuru hejuru+, imihezagiro y’inyenga y’amazi iri hasi epfo+, imihezagiro y’amabere n’igitereko+. 26 Imihezagiro ya so izoruta koko imihezagiro y’imisozi y’ibihe bidahera+, irute ugushaza kw’imirambi yamaho igihe kitagira urugero+. Izoguma ku mutwe wa Yozefu, egome, ku rutwariro rw’uwashizwe ku ruhande akuwe muri bene wabo+.
27 “Benyamini azoguma atabagura nk’ibingira+. Mu gitondo azorya igikoko cafashwe, ku mugoroba na ho agabure isahu+.”
28 Abo bose ni bo miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo se yababwiye ariko arabahezagira. Umwe wese yamuhezagiye akurikije umuhezagiro wiwe bwite+.
29 Hanyuma arabategeka, ababwira ati: “Ngira mpamvye ab’iwacu+. Muze mumpambe hamwe na ba dawe mw’isenga riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti+, 30 mw’isenga riri mw’itongo ry’i Makipela, imbere ya Mamure mu gihugu ca Kanani, itongo Aburahamu yaguze na Efuroni Umuheti ngo ribe itongo ryo guhambamwo yigabira+. 31 Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe+. Aho ni ho bahamvye Izahaki na Rebeka umugore wiwe+, kandi ni ho nahamvye Leya. 32 Iryo tongo ryaguzwe be n’isenga riri muri ryo vyari ivya bene Heti+.”
33 Gutyo Yakobo arangiza guha amategeko abahungu biwe. Hanyuma asubiza ibirenge vyiwe ku buriri maze aracikana, ahamvya ab’iwabo+.
50 Maze Yozefu yubama kuri se mu maso+, araturikisha amuririrako, aramusoma+. 2 Hanyuma Yozefu ategeka abasuku biwe b’abaganga gusīga se wiwe ibimubuza kubora+. Nuko nya baganga basīga Isirayeli; 3 bamara imisi mirongo ine yuzuye bamusīga, kuko ico ari co gitigiri c’imisi basanzwe bamara mu gusīga ibibuza kubora; Abanyamisiri bamara imisi mirongo irindwi bamuririra+.
4 Amaherezo imisi yo kumuririra irahera, maze Yozefu abwira urugo rwa Farawo ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yanyu+, ndabinginze mubwire Farawo, muti: 5 ‘Dawe yarandahije+ ati: “Ehe ngira mpfe+. Mu mva yanje niyimbishirije mu gihugu ca Kanani+, haze habe ari ho umpamba+.” None rero ndakwinginze, undeke nduge guhamba dawe; nzoheza ngaruke.’” 6 Nuko Farawo avuga ati: “Duga uhambe so nk’uko yakurahije+.”
7 Yozefu rero aduga guhamba se wiwe, adugana n’abasuku ba Farawo bose, abagabo b’inararibonye+ b’urugo rwiwe n’abagabo b’inararibonye bose b’igihugu ca Misiri, 8 n’urugo rwose rwa Yozefu, na bene wabo, n’urugo rwa se wiwe+. Abana babo bakiri batoyi n’imikuku yabo n’amasho yabo ni vyo gusa basize mu gihugu ca Gosheni. 9 Adugana n’imikogote+ n’abagendera ku mafarasi, iyo kambi iba nini cane. 10 Maze bashika ku mbuga y’ikubitiro+ ya Atadi iri mu karere ka Yorodani+; bahavugiriza amaborogo menshi cane kandi akomeye cane, agira n’imigenzo y’ukugandarira se wiwe imisi indwi+. 11 Ababa muri ico gihugu, Abanyakanani, babona nya migenzo y’ukugandara ku mbuga y’ikubitiro ya Atadi, maze baratangara bati: “Iki ni ikigandaro gikomeye ku Banyamisiri!” Ni co catumye hitwa Abeli-misirayimu; haherereye mu karere ka Yorodani+.
12 Abahungu biwe bamugirira neza na neza nk’uko yari yarabategetse+. 13 Nuko abahungu biwe bamutwara mu gihugu ca Kanani, bamuhamba mw’isenga ryo mw’itongo ry’i Makipela, itongo Aburahamu yari yaraguze na Efuroni Umuheti ngo ribe itongo ryo guhambamwo yigabira, imbere ya Mamure+. 14 Yozefu amaze guhamba se wiwe, asubira mu Misiri, we hamwe na bene wabo n’abaduganye na we bose guhamba se wiwe.
15 Bene wabo na Yozefu babonye ko se apfuye, batangura kuvuga bati: “Hari aho Yozefu yoba atubikiye akazikira+, kandi ntazobura kutwishura ikibi cose twamugiriye+.” 16 Maze bamenyesha Yozefu itegeko bati: “So wawe yaratanze itegeko imbere y’uko apfa, ati: 17 ‘Ibi ni vyo muzobwira Yozefu: “Ndagusavye, ndakwinginze uharire+ umugararizo wa bene wanyu n’igicumuro cabo kuko bakugiriye nabi+.”’ None rero ndakwinginze uharire umugararizo w’abasavyi b’Imana ya so+.” Aho bavuganiye na we, Yozefu aca araturikisha ararira. 18 Hanyuma bene wabo na bo baraza, bikubita hasi imbere yiwe, bavuga bati: “Ehe turi abashumba bawe+!” 19 Maze Yozefu ababwira ati: “Ntimutinye; mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana+? 20 Mwebwe mwari mwiyumviriye kunkorera ikibi. Mugabo Imana yiyumviriye kugihinduramwo iciza kugira ikore ibintu nk’uko biri uyu musi: kugira izigamire ubuzima abantu benshi+. 21 Ntimutinye rero. Jewe nzoguma ndabaronsa ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi+.” Nuko arabahoza, avugana na bo mu buryo buhumuriza.
22 Yozefu abandanya kuba mu Misiri, we hamwe n’inzu ya se; Yozefu abaho imyaka ijana na cumi. 23 Nuko Yozefu abona bene Efurayimu b’iyaruka rigira gatatu+, abona n’abahungu ba Makiri+, umuhungu wa Manase. Bavukiye ku bibero vya Yozefu+. 24 Amaherezo Yozefu abwira bene wabo ati: “Ngiye gupfa, mugabo Imana ntizobura kubitaho+, kandi ntizobura kubadugana ikabakura muri iki gihugu ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo+.” 25 Yozefu rero arahiza bene Isirayeli ati: “Imana ntizobura kubitaho. Namwe rero muze mudugane amagufa yanje muyakure ng’aha+.” 26 Hanyuma Yozefu arapfa, apfa afise imyaka ijana na cumi; bamusigisha ibibuza kubora+, baraheza bamushira mw’isandugu mu Misiri.
Ni ukuvuga ibikoko vyo mu mazi.
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha riratandukanye n’ijambo “kurema” ryakoreshejwe mu murongo wa 1, uwa 21, uwa 27 no muri 2:3, rikaba risobanura “guhingura” canke “gukora.”
Mu giheburayo ni “nefeshi” (neʹphesh). Raba Inyongera ya 6.
Budeliyo ni ibirirarira bifatafata bimota neza biva ku biti bimwebimwe.
Ijambo ry’igiheburayo risobanura “kwumira ku, kumata rwose ubutarekura, nk’aho hoba hakoreshejwe uburembo.”
Canke, “bakora uduhuzu two gupfuka mu mafyinga.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ni ukuvuga “urubuto” rw’umugore.
Canke kandi, “ibifungurwa.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ububasha.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “abantu batangura gucafuza izina rya Yehova.”
Ijambo ku rindi ni “abahungu.”
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Canke, “igisenge.”
Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.
Raba Inyongera ya 21.
Gishobora kuba cerekeza kuri Ninewe n’ibindi bisagara bitatu, vyose bifatiwe hamwe.
Bisobanura “Ukugabura.”
Bisobanura ngo “Umuvurungano.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “amasandali.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “Imana imbona;” canke, “Imana yiyerekana.”
Bisobanura ngo “Iriba ry’Uwuriho ambona.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ni agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.
Zose hamwe zangana hafi ibilo 10.
Ijambo ku rindi ni “Ni ivyo kukubera igipfukisho c’amaso.” “Igipfukisho c’amaso” ni imvugo ncakagani y’igiheburayo isigura ukwemeza mu buryo buhuje n’amategeko yuko izina ry’umugore ritariko iceyi, akaba rero akuweko icagirizo mu maso y’abandi.
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ariko arihoza ku bikwerekeye.”
Bisobanura ngo “Inzu y’Imana.”
Ukwo gushuha ni ugushaka kwima canke kwimya.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “yerekeza mu maso hiwe.”
Canke, “Bwoba bwa Izahaki.”
Canke, “arahira Bwoba bwa se Izahaki.”
Bisobanura ngo “mu maso h’Imana.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”
Canke, “igihe ubuzima bwiwe bwariko burasohoka.”
Bisobanura ngo “Umuhungu wo mu gahinda kanje.”
Bisobanura ngo “Umuhungu w’ukuryo.”
Canke, abuzukuru.
Ijambo ku rindi ni “abashehe.” Ijambo ry’igiheburayo rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”
Ijambo ku rindi ni “labudano.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (sheʹohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Ijambo ku rindi ni “witaburiye umwatata.”
Bisobanura ngo “ugutabuka mu mwatata.”
Ijambo ku rindi ni “munsi y’ukuboko kwa Farawo.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “nta mugabo azoduza ukuboko kwiwe canke ikirenge ciwe.”
Ijambo ku rindi ni “labudano.”
Shakedi ni ubwoko bw’utwamwa tugomba kumera nk’ivyema.
Ijambo ku rindi ni “nshire ijisho kuri we.”
Ijambo ku rindi ni “umukama.”
Ijambo ku rindi ni “impwemu ya Yakobo se wabo itangura kugarura agatege.”
Ni ukuvuga, kuyahwamika Yakobo apfuye.
Ijambo ku rindi ni “abavuye mw’imerero ry’itako ryiwe.”
Ijambo ku rindi ni “urutugu rumwe.”
Ijambo ku rindi ni “intango y’ububasha bwanje bwo kurondoka.”