ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Kuvayo 1:1-40:38
  • Kuvayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuvayo
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Kuvayo

Kuvayo

1 Aya rero ni yo mazina ya bene Isirayeli baje mu Misiri bari kumwe na Yakobo, umugabo wese azanana n’urugo rwiwe+: 2 Rubeni+, Simeyoni+, Lewi+ na Yuda+, 3 Isakari+, Zebuloni+ na Benyamini+, 4 Dani+ na Nafutali+, Gadi+ na Asheri+. 5 Abantu bose bakomotse kuri Yakobo*+ babaye abantu mirongo irindwi, mugabo Yozefu yari asanzwe ari mu Misiri+. 6 Amaherezo Yozefu arapfa+, na bene wabo bose, n’iryo yaruka ryose. 7 Nuko bene Isirayeli bararondoka, batangura kugwirirana; kandi baguma bagwira bongera barushiriza gukomera ku rugero rudasanzwe, ku buryo buzura ico gihugu+.

8 Mu nyuma hahaguruka umwami mushasha aganza Misiri, atari azi Yozefu+. 9 Maze atangura kubwira abantu biwe ati: “Ehe raba! Bene Isirayeli ni benshi kandi barakomeye kuturusha+. 10 Ee baga! Tubīgire ubwenge+, ntibahave bagwira, maze dushikiwe n’intambara bagaca biyongera ku batwanka, bakaturwanya hanyuma bakaduga bakava mu gihugu.”

11 Nuko babashiriraho abakuru b’ibikorwa vy’agahato, kugira babahahaze mu kubikoreza imizigo+; baraheza bubakira Farawo ibisagara vy’ububiko, ari vyo Pitomu na Ramusesi+. 12 Mugabo uko barushiriza kubahahaza, ni ko barushiriza kugwira kandi ni ko barushiriza kuguma bakwiragira hose, ku buryo bagira ubwoba bagashegeshwa kubera bene Isirayeli+. 13 Ku bw’ivyo Abanyamisiri bakoresha bene Isirayeli nk’abashumba, mu mukazo+. 14 Baguma batuma ubuzima bwabo buba umururazi mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba biruhisha vyo guponda ubudongo bw’ibumba+ no kubumba amatafari, no mu kubakoresha ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose mu matongo+, emwe, ibikorwa vy’ubushumba vy’ubwoko bwose babakoreshamwo ari abashumba, mu mukazo+.

15 Mu nyuma umwami wa Misiri abwira abakirizi b’Abaheburayokazi+, umwe akaba yitwa Shifura uwundi Puwa, 16 emwe, arinamura ati: “Igihe mufasha abagore b’Abaheburayokazi kwibaruka, mukababona bari ku ntebe* yo kwibarukirako, havutse umuhungu muce mumwica, mugabo ari umukobwa mumureke abeho.” 17 Ariko nya bakirizi batinya Imana y’ukuri+, ntibagira nk’uko umwami wa Misiri yari yababariye+, bazigamira ubuzima abana b’abahungu+. 18 Mu nyuma umwami wa Misiri ahamagara ba bakirizi, ababwira ati: “Kubera iki mwakoze ico kintu, mukazigamira ubuzima abana b’abahungu+?” 19 Nya bakirizi na bo babwira Farawo bati: “Ni kubera ko abagore b’Abaheburayokazi batameze nk’abagore b’Abanyamisirikazi. Kubera ko buzuye ingoga, baba bamaze kwibaruka imbere y’uko umwakirizi abashikira.”

20 Nuko Imana igirira neza nya bakirizi+; ico gisata kiguma kirushiriza kugwira no gukomera cane. 21 Maze kubera ko nya bakirizi bari batinye Imana y’ukuri, mu nyuma ibaronsa imiryango+. 22 Amaherezo Farawo ategeka abantu biwe bose ati: “Umuhungu wese avutse mumuterere mu ruzi Nili, ariko umukobwa wese mumuzigamire ubuzima+.”

2 Muri ico gihe, umugabo umwe wo mu nzu ya Lewi aragenda, yabira umukobwa wa Lewi+. 2 Nya mugore aribungenga, yibaruka umuhungu. Abonye ingene ari mwiza, aguma amuhishije+ amezi* atatu+. 3 Igihe atari agishoboye kumuhisha+, atora isandugu y’urufunzo yo kumushiramwo, ayihomesha ikaburimbo isanzwe be n’ikaburimbo y’irenda+ hanyuma amushira muri nya sandugu, araheza ayishira mu marenga+ iruhande y’inkombe y’uruzi Nili. 4 Vyongeye, mushikiwe ahagarara nka hariya ngo arabe ico yoba+.

5 Haciye akanya, umukobwa wa Farawo amanuka kwiyuhagira mu ruzi Nili, abasukukazi biwe bakaba bariko bagendera iruhande y’inkengera y’uruzi Nili. Maze abona ya sandugu hagati mu marenga. Buno nyene aca arungika umushumbakazi wiwe ngo ayitore+. 6 Ayuguruye abona wa mwana, kandi nya gahungu kariko kararira. Akumvira impuhwe+, naho yavuga ati: “Uyu ni uwo mu bana b’Abaheburayo.” 7 Maze mushikiwe abwira umukobwa wa Farawo ati: “Ngende nguhamagarire umugore yonsa mu bagore b’Abaheburayokazi akwonkereze uyo mwana?” 8 Umukobwa wa Farawo amubwira ati: “Genda!” Nya mwigeme aca aragenda, ahamagara nyina wa nya mwana+. 9 Maze umukobwa wa Farawo amubwira ati: “Jana uyu mwana umunyonkereze, nanje ubwanje nzoguha impembo yawe+.” Nuko nya mugore atwara uwo mwana, aramwonsa. 10 Nya mwana arakura. Maze amuzanira umukobwa wa Farawo, ku buryo acika nk’umuhungu wiwe+; araheza amwita Musa, avuga ati: “Ni kubera ko namukuye mu mazi+.”

11 Nuko muri iyo misi, Musa ariko aba uwukomeye, aja kwa bene wabo ngo arabe imizigo bikorera+. Abona Umunyamisiri ariko akubita Umuheburayo wo muri bene wabo+. 12 Yeraguza irya n’ino abona nta muntu n’umwe abona. Maze yica wa Munyamisiri, amunyegeza mu musenyi+.

13 Ariko ku musi ukurikira arasohoka, aza abona abagabo babiri b’Abaheburayo bariko bararwana. Abwira uwari mw’ikosa ati: “Ukubitira iki mugenzawe+?” 14 Na we ati: “Ni nde yakugize umuganwa n’umucamanza kuri twebwe+? Ushaka kunyica nka kumwe wica wa Munyamisiri+?” Musa aca aratinya, avuga ati: “Nta nkeka ca kintu camenyekanye+!”

15 Mu nyuma Farawo yumva ico kintu, aca arondera kwica Musa+; mugabo Musa arahunga+ ava kwa Farawo, aja kuba mu gihugu ca Midiyani+; hanyuma yicara iruhande y’iriba. 16 Umuherezi+ wa Midiyani rero yari afise abakobwa indwi. Maze nk’uko bisanzwe baraza, baravoma amazi, buzuza imigazo kugira banyweshe umukuku wa se+. 17 Maze nk’uko bisanzwe abungere baraza, barabirukana. Musa aca arahaguruka arabatabara, yongera anywesha umukuku wabo+. 18 Nuko aho batahiye i muhira kwa Reyuweli+ se wabo, aratangara ati: “Bigenze gute ngo mutahe ningoga gutyo uno musi?” 19 Na bo bati: “Hari Umunyamisiri+ yaturokoye mu kuboko kw’abungere, kandi mbere yatuvomeye n’amazi ngo anyweshe ubusho.” 20 Maze abwira abakobwa biwe ati: “None ari hehe? Ko mwamusize? Muhamagare, arye umukate+.” 21 Inyuma y’ivyo, Musa yemera kubana na nya mugabo, na we araheza aha Musa Zipora+ umukobwa wiwe. 22 Haciye igihe avyara umuhungu, Musa araheza amwita Gerishomu+, kuko yavuga ati: “Nabaye kavamahanga mu gihugu kinyamahanga+.”

23 Hanyuma muri iyo misi myinshi, umwami wa Misiri arateba arapfa+, mugabo bene Isirayeli babandanya kuniha kubera ubushumba no kurira bidoga+, kandi ugutabaza kwabo kwaguma kuduga ku Mana y’ukuri kubera nya bushumba+. 24 Imana irahava yumva ukuniha kwabo+, yibuka isezerano yagiranye na Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. 25 Nuko Imana yitegereza bene Isirayeli, ibona uko bamerewe.

3 Hanyuma Musa aba umwungere w’umukuku wa Yetiro+, umuherezi wa Midiyani, uwo yari abereye umukwe+. Igihe yari ashoreye umukuku ku ruhande rw’uburengero bw’agahinga, yaratevye ashika ku musozi w’Imana y’ukuri+, i Horebu+. 2 Maze umumarayika wa Yehova aramubonekera mu rubeya rw’umuriro hagati mu gisaka c’amahwa+. Agumye yitegereza, abona ca gisaka c’amahwa kiriko kiraka umuriro yamara ntigishe. 3 Musa aca avuga ati: “Reka nkevye, nkenguze iki gitangaza gihambaye, menye igituma kirya gisaka c’amahwa kidasha ngo gitokombere+.” 4 Yehova abonye ko akebeje ngo akenguze, ako kanya Imana iramuhamagara hagati muri ca gisaka c’amahwa, iti: “Musa! Musa!”, na we ati: “Ndi hano+.” 5 Maze ivuga iti: “Ntiwegere ng’aha. Kura inkweto* zawe ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari ubutaka bweranda+.”

6 Ibandanya kuvuga iti: “Ndi Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.” Maze Musa ahisha mu maso hiwe, kuko yatinya kuraba Imana y’ukuri. 7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+. 8 Ndamanutse rero kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri+, ndabadugane ndabakure muri ico gihugu, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ahantu h’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+. 9 Ubu rero, amaborogo ya Isirayeli yanshikiriye, kandi nabonye n’agahahazo Abanyamisiri babahaharisha+. 10 None rero nuze, ngutume kuri Farawo, ukure mu Misiri abantu banje, bene Isirayeli+.”

11 Ariko Musa abwira Imana y’ukuri ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo, ngo nkure bene Isirayeli mu Misiri+?” 12 Nuko ivuga iti: “Kuko nzoba ndi kumwe nawe+, kandi iki ni co kizokubera ikimenyetso c’uko ari jewe nagutumye+: Niwamara gukura abo bantu mu Misiri, muzokorera Imana y’ukuri kuri uyu musozi+.”

13 Yamara Musa abwira Imana y’ukuri ati: “Dufate ko ubu nshitse kuri bene Isirayeli, nkababwira nti: ‘Imana ya ba sogokuruza banyu yabantumyeko,’ na bo bakambwira bati: ‘Izina ryayo ni nde+?’ Nobabwira iki?” 14 Imana ica ibwira Musa iti: “NZOCIKA ICO NZOCIKA+.” Yongerako iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko+.’” 15 Maze Imana yongera kubwira Musa iti:

“Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero*+, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi+. 16 Wewe genda, ukoranye abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yambonekeye+, Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, avuga ati: “Sinzobura kubitaho+ no kwitaho ivyo muriko murakorerwa mu Misiri. 17 Ni co gituma mvuze nti: Nzobadugana ndabakure mu marushwa+ mutezwa n’Abanyamisiri, ndabajane mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori+ n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.”’

18 “Kandi ntibazobura kwumviriza ijwi ryawe+; nawe uzoje ku mwami wa Misiri, wewe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, mumubwire muti: ‘Yehova Imana y’Abaheburayo+ yabonanye natwe+. Ubu rero, turakwinginze uturekure, dushaka kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kandi dushaka gushikanira ikimazi Yehova Imana yacu+.’ 19 Kandi jewe ubwanje, ndazi neza yuko umwami wa Misiri atazobaha uruhusha rwo kugenda bidaciye ku kiganza gikomeye+. 20 Nanje nzobwirizwa kuramvura ukuboko kwanje+, nkubitishe Misiri ibikorwa vyanje vy’agatangaza vyose nzokorera hagati muri yo; maze inyuma y’ivyo azobarekura+. 21 Kandi nzoha abo bantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri; kandi nimwagenda, ntimuzogenda iminwe misa+. 22 Umugore wese aze asabe umubanyi wiwe n’umugore abayeho ari kavamahanga mu nzu iwe, ibintu vy’ifeza n’ivy’inzahabu n’imitamana; muze muvyambike abahungu banyu n’abakobwa banyu, kandi mutegerezwa gukoba Abanyamisiri+.”

4 Mugabo Musa yishura ati: “Ariko dufate ko batanyemeye kandi ntibumvirize ijwi ryanje+, kuko bazohava bavuga ngo: ‘Yehova ntiyakubonekeye.’” 2 Maze Yehova amubwira ati: “Ico kiri mu kuboko kwawe ni igiki?” Na we ati: “Ni inkoni+.” 3 Arasubira ati: “Yiterere hasi.” Nuko ayiterera hasi, ica icika inzoka+; Musa na we atangura kuyihunga. 4 Buno Yehova abwira Musa ati: “Tuma ukuboko kwawe uyicakire ku murizo.” Nuko atuma ukuboko kwiwe arayicakira, ica icika inkoni mu kiganza ciwe. 5 Ati: “Ni kugira ngo bemere yuko Yehova Imana ya ba sekuruza babo+, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yakubonekeye+.”

6 Maze Yehova yongera kumubwira ati: “Ndakwinginze, injiza ukuboko kwawe mu mukonyo wo haruguru w’impuzu yawe.” Nuko yinjiza ukuboko kwiwe muri nya mukonyo. Agukuyeyo, asanga kwatewe n’imibembe, gusigaye kwera derere*+! 7 Inyuma y’ivyo avuga ati: “Subiza ukuboko kwawe mu mukonyo wo haruguru w’impuzu yawe.” Nuko agusubizayo. Agukuyeyo, asanga kwasubiranye, gusa n’ahandi hose ku mubiri wiwe+! 8 Ati: “Nibatakwemera canke ngo bumvirize ijwi ry’ikimenyetso ca mbere, ntibazobura kwemera ijwi ry’ikimenyetso ca kabiri+. 9 Ariko nibatemera n’ivyo bimenyetso bibiri canke ngo bumvirize ijwi ryawe+, uzoce ukura amazi mu ruzi Nili uyasese kw’isi yumutse; kandi nya mazi uzokura mu ruzi Nili, emwe, azocika koko amaraso kw’isi yumutse+.”

10 Maze Musa abwira Yehova ati: “Ntunga, Yehova, erega jewe sindi umuntu yoroherwa no kuvuga, kandi si ivy’ejo canke hirya y’ejo canke kuva aho uvuganiye n’umusavyi wawe, kuko ndi uw’umunwa wikwega n’ururimi rwikwega+.” 11 Yehova aca amubwira ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova+? 12 Ubu rero genda, nanje ubwanje nzobana n’akanwa kawe, kandi nzokwigisha ivyo ubwirizwa kuvuga+.” 13 Mugabo Musa avuga ati: “Ntunga, Yehova, ahubwo ndakwinginze, utume uwundi* ushaka.” 14 Maze ishavu rya Yehova rirurumbira Musa, avuga ati: “Aroni Umulewi si mwene wanyu+? Ndazi neza yuko ashoboye koko kuvuga. Kandi bisubiye, ehe ari mu nzira aza guhura nawe. Niyakubona, ntazobura kunezerwa mu mutima wiwe+. 15 Uze uvugane na we wongere ushire ayo majambo mu kanwa kiwe+; nanje ubwanje nzobana n’akanwa kawe be n’akanwa kiwe+, kandi nzobigisha ico muri bukore+. 16 Azovugana n’abantu mu kibanza cawe: azokubera akanwa+, nawe umubere Imana+. 17 Kandi iyo nkoni uzoyitwara mu kuboko, kugira ngo uyikoreshe vya bimenyetso+.”

18 Nuko Musa aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, amubwira+ ati: “Nshaka kugenda, ndakwinginze undeke nsubire kwa bene wacu bari mu Misiri, ndabe ko bakiriho+.” Nuko Yetiro abwira Musa ati: “Genda amahoro+.” 19 Inyuma y’ivyo, Yehova abwirira Musa i Midiyani ati: “Genda, usubire mu Misiri, kuko abantu bose bahora bahiga ubuzima bwawe bapfuye+.”

20 Maze Musa afata umugore wiwe n’abahungu biwe aburiza indogobwa, asubira mu gihugu ca Misiri. Vyongeye, Musa atwara mu kuboko kwiwe ya nkoni y’Imana y’ukuri+. 21 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwamara gusubira mu Misiri, uze witwararike gukorera imbere ya Farawo vya bitangaro vyose nashira mu kuboko kwawe+. Nayo jewe, nzoreka umutima wiwe ucike intabarirwa+; kandi ntazorekura abantu banje+. 22 Uze ubwire Farawo uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Isirayeli ni umuhungu wanje, imfura yanje+. 23 Kandi nkubwiye nti: Rekura umuhungu wanje, ankorere. Mugabo ukaramuka wanse kumurekura, ehe ngira nice umuhungu wawe, imfura yawe+.”’”

24 Nuko mu nzira, ahantu h’uburaro+, Yehova ahura na we+, akaguma arondera ingene yomwica+. 25 Amaherezo Zipora+ atora ibuye ry’isare, aresura agashato* k’umuhungu wiwe+, atuma gakora ku birenge vya Musa, avuga ati: “Ni kubera uri umugabo w’amaraso kuri jewe.” 26 Ku bw’ivyo aramureka. Ico gihe Zipora avuga ngo “Umugabo w’amaraso” kubera iryo genyerwa.

27 Maze Yehova abwira Aroni ati: “Genda uhure na Musa mu gahinga+.” Nuko aragenda, ahurira na we ku musozi w’Imana y’ukuri+, aramusoma. 28 Hanyuma Musa abwira Aroni amajambo yose ya Yehova nyene kumutuma+, n’ibimenyetso vyose yari yamutegetse gukora+. 29 Inyuma y’ivyo, Musa na Aroni baragenda, bakoranya abagabo b’inararibonye bose ba bene Isirayeli+. 30 Maze Aroni avuga amajambo yose Yehova yari yabariye Musa+, na we akorera vya bimenyetso+ mu maso y’abantu. 31 Abantu baraheza baremera+. Aho bumviye yuko Yehova yitayeho+ bene Isirayeli be n’uko yabonye amarushwa yabo+, baca barunama bakubita inkoro hasi+.

5 Mu nyuma Musa na Aroni barinjira, babwira Farawo+ bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze: ‘Rekura abantu banje, baje kumpimbariza umusi mukuru mu gahinga+.’” 2 Mugabo Farawo avuga ati: “Yehova ni nde+, ngo ngamburukire ijwi ryiwe ndekure Isirayeli+? Yehova sindamuzi namba+, kandi vyongeye, sindiko ndarekura Isirayeli+.” 3 Ariko babandanya kuvuga bati: “Imana y’Abaheburayo yabonanye natwe+. Turakwinginze uturekure, dushaka kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, dushikanire ikimazi Yehova Imana yacu+; ahandiho yoduteza ikiza canke akadukubita inkota+.” 4 Umwami wa Misiri ababwira ati: “Kubera iki, ga Musa na Aroni, mutesha abantu ibikorwa vyabo+? Genda mwikorere imizigo yanyu+!” 5 Farawo abandanya ati: “Raba! Abanyagihugu ubu ni benshi+, namwe mukabatesha igikorwa cabo co kwikorera imizigo+.”

6 Ubwo nyene, kuri uwo musi, Farawo ategeka abahindagiza abantu ku bikorwa n’abarongozi babo+, ati: 7 “Ntimusubire gutoragura ibikumbi vyo guha abantu ngo babumbe amatafari+ nk’uko vyahora. Ubwabo nibagende bavyitoragurire. 8 Kandi igitigiri gisabwa c’amatafari bahora bakora, muzoguma mubategeka kugikwiza. Ntimubagabanye na gatoyi, kuko bariko baranebwa+. Ni co gituma bariko bikomesha amaruru, ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Imana yacu+!’ 9 Reka igikorwa kiremere abo bagabo, bagikore, ntibahe amatwi amajambo y’ibinyoma+.”

10 Nuko abahindagiza abantu ku bikorwa+ hamwe n’abarongozi babo barasohoka, babwira abantu bati: “Ibi ni vyo Farawo avuze: ‘Sinkibaha ibikumbi. 11 Ubwanyu nimugende mwironderere ibikumbi ahantu hose mushobora kubisanga, kuko ibikorwa vyanyu bitazogabanywako n’akavunji+.’” 12 Nuko abantu bakwira igihugu cose ca Misiri gutoragura ibishakara bikoreshwa bwa bikumbi. 13 Kandi ababahindagiza ku bikorwa baguma babahutagiza+, ngo “Nimurangize ibikorwa vyanyu, umwe wese igikorwa ciwe ca buri musi, nk’igihe ibikumbi vyari bikiboneka+.” 14 Mu nyuma abarongozi+ bo muri bene Isirayeli, abo abagapita ba Farawo bari bashizeho ngo babahagarikire, barakubiswe+, bano bagapita bakavuga ngo: “Kubera iki mutarangije igikonkwano mwashingiwe mu kubumba amatafari+ nk’uko vyahora, ejo n’uno musi+?”

15 Ku bw’ivyo abarongozi+ bo muri bene Isirayeli barinjira, batangura kuririra Farawo, bati: “Kubera iki ugirira utyo abasavyi bawe? 16 Nta bikumbi abasavyi bawe bahabwa, yamara batubwira ngo: ‘Bumba amatafari!’, kandi raba abasavyi bawe barakubitwa kandi abantu bawe ari bo bari mw’ikosa+.” 17 Mugabo avuga ati: “Muriko muranebwa, muriko muranebwa+! Ni co gituma muriko mwivugisha ngo ‘Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ikimazi Yehova+.’ 18 Ubu rero gende, mukore! Naho ata bikumbi muzohabwa, mubwirizwa gutanga igitigiri c’amatafari cashinzwe+.”

19 Maze abarongozi bo muri bene Isirayeli babona yuko bagowe bumvise iryo jambo ngo+: “Ntimugabanye ku matafari yanyu n’akavunji ku yo umwe wese yagerewe ku musi+.” 20 Inyuma y’ivyo, bahura na Musa na Aroni+, bakaba bari bahagaze ng’aho barindiriye guhura na bo bavuye kwa Farawo. 21 Baca bababwira bati: “Yehova abarabe, ace urubanza+, kuko mwatumye tunuka+ imbere ya Farawo n’imbere y’abasavyi biwe, mu gushira inkota mu kuboko kwabo ngo batwice+.” 22 Maze Musa yitura Yehova+, avuga ati: “Yehova, kubera iki wakwegeye ikibi aba bantu+? Wantumiye iki+? 23 Kuko kuva aho ninjiriye imbere ya Farawo kuvuga mw’izina ryawe+, yakoreye ikibi aba bantu+, kandi ntiwarushe urokora abantu bawe+.”

6 Nuko Yehova abwira Musa ati: “Ubu ugira ubone ico nzokorera Farawo+, kuko biciye ku kiganza gikomeye azobarekura, kandi biciye ku kiganza gikomeye azobirukana mu gihugu ciwe+.”

2 Imana ibandanya kuvugana na Musa, imubwira iti: “Ndi Yehova+. 3 Kandi narabonekera Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+ bwa Mana Mushoboravyose+, mugabo ntaho nimenyekanishije kuri bo mw’izina ryanje Yehova+. 4 Kandi narashinze isezerano ryanje hamwe na bo ryo kubaha igihugu ca Kanani, igihugu babayemwo ari ba kavamahanga+. 5 Kandi jewe ubwanje narumvise ukuniha kwa bene Isirayeli+, abo Abanyamisiri bagira abaja, kandi ndibuka isezerano ryanje+.

6 “Bwira rero bene Isirayeli uti: ‘Ndi Yehova, kandi ata kabuza nzobakura munsi y’imizigo y’Abanyamisiri, ndabarokore mu bushumba bwabo+, kandi nzobahabuza koko n’ukuboko kuramvuye be n’imanza zikomeye+. 7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+. 8 Kandi ata kabuza nzobazana mu gihugu nataritse ukuboko ndahira+ ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo; kandi nzokibaha koko mucigabire+. Ndi Yehova+.’”

9 Mu nyuma Musa avugana na bene Isirayeli kuri ico kintu, mugabo ntibamwumviriza kubera ugucika intege no kubera ubwo bushumba buruhije+.

10 Maze Yehova abarira Musa ati: 11 “Injira, ubarire Farawo umwami wa Misiri+, arekure bene Isirayeli bave mu gihugu ciwe+.” 12 Ariko Musa avugira imbere ya Yehova, ati: “Ehe raba! Bene Isirayeli ntibanyumvirije+; none Farawo we azonyumviriza ate+, narirya ndi uw’iminwa itagenyerewe+?” 13 Mugabo Yehova abandanya kuvugana na Musa na Aroni no gutanga itegeko kuri bene Isirayeli no kuri Farawo umwami wa Misiri biciye kuri bo, kugira bene Isirayeli bakurwe mu gihugu ca Misiri+.

14 Aba ni bo bakuru b’inzu ya ba se: Bene Rubeni imfura ya Isirayeli+ bari Hanoki na Palu, Hezironi na Karumi+. Iyo ni yo miryango ya Rubeni+.

15 Bene Simeyoni na bo bari Yemuweli na Yamini na Ohadi na Yakini na Zohari na Shawuli umuhungu w’umugore w’Umunyakananikazi+. Iyo ni yo miryango ya Simeyoni+.

16 Kandi aya ni yo mazina ya bene Lewi+, hisunzwe imiryango bakomokamwo+: Gerishoni na Kohati na Merari+. Kandi imyaka y’ubuzima bwa Lewi yabaye ijana na mirongo itatu n’indwi.

17 Bene Gerishoni bari Libuni na Shimeyi+, hisunzwe imiryango yabo+.

18 Bene Kohati na bo bari Amuramu na Izihari na Heburoni na Uziyeli+. Kandi imyaka y’ubuzima bwa Kohati yabaye ijana na mirongo itatu n’itatu.

19 Bene Merari na bo bari Mahili na Mushi+.

Iyo ni yo yari imiryango y’Abalewi, hisunzwe imiryango bakomokamwo+.

20 Nuko Amuramu atwara Yokebedi mushiki wa se amubera umugore+. Araheza amuvyarira Aroni na Musa+. Kandi imyaka y’ubuzima bwa Amuramu yabaye ijana na mirongo itatu n’indwi.

21 Bene Izihari na bo bari Kora+ na Nefegi na Zikiri.

22 Bene Uziyeli na bo bari Mishaheli na Elizafani na Sitiri+.

23 Nuko Aroni atwara Elisheba, umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+, amubera umugore. Araheza amuvyarira Nadabu na Abihu, Eleyazari na Itamari+.

24 Bene Kora na bo bari Asiri na Elikana na Abiyasafu+. Iyo ni yo yari imiryango y’Aba-Kora+.

25 Hanyuma Eleyazari, umuhungu wa Aroni+ atwara umwe mu bakobwa ba Putiyeli, amubera umugore. Araheza amuvyarira Finehasi+.

Abo ni bo bakuru ba ba se b’Abalewi, hisunzwe imiryango yabo+.

26 Uwo Aroni n’uwo Musa ni bo Yehova yabwiye+ ati: “Kura bene Isirayeli mu gihugu ca Misiri nk’uko ingabo zabo ziri+.” 27 Ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Misiri, ngo bene Isirayeli bakurwe mu Misiri+. Abo ni bo Musa na Aroni.

28 Ku musi Yehova yavuganiyeko na Musa mu gihugu ca Misiri+, 29 Yehova abandanya kubarira Musa ati: “Ndi Yehova+. Bwira Farawo umwami wa Misiri ibintu vyose ndiko ndakubarira.” 30 Maze Musa avugira imbere ya Yehova ati: “Ehe raba! Ndi uw’iminwa itagenyerewe, none Farawo azonyumviriza ate+?”

7 Yehova rero abwira Musa ati: “Raba, nkugize Imana kuri Farawo+, Aroni mwene wanyu na we azoba umuhanuzi wawe+. 2 Wewe uzovuga ivyo nzogutegeka vyose+, Aroni mwene wanyu na we azovugana na Farawo+, kandi azorekura koko bene Isirayeli bave mu gihugu ciwe+. 3 Nayo jewe, nzoreka umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi nzogwiza koko ibimenyetso vyanje n’ibitangaro vyanje mu gihugu ca Misiri+. 4 Kandi Farawo ntazobumviriza+; nanje nzobwirizwa gushira ukuboko kwanje kuri Misiri, nkure mu gihugu ca Misiri ingabo zanje+, abantu banje+, ari bo bene Isirayeli+, nkoresheje imanza zikomeye+. 5 Kandi Abanyamisiri bazomenya ata kabuza yuko jewe ndi Yehova ninaramvura ukuboko ngakubita Misiri+, kandi nzokura koko bene Isirayeli hagati muri bo+.” 6 Nuko Musa na Aroni bakora nk’uko Yehova yari yabategetse+. Bakora kuno nyene+. 7 Musa yari afise imyaka mirongo umunani, Aroni na we mirongo umunani n’itatu igihe bavugana na Farawo+.

8 Yehova rero abwira Musa na Aroni ati: 9 “Farawo niyababwira ngo: ‘Kora igitangaro kibashingira intahe+,’ uzoce ubwira Aroni uti: ‘Fata inkoni yawe+ uyiterere hasi imbere ya Farawo.’ Izoca icika ikiyoka kinini+.” 10 Nuko Musa na Aroni binjira kwa Farawo bakora neza na neza nk’uko Yehova yari yategetse. Aroni araheza aterera inkoni yiwe hasi imbere ya Farawo n’abasavyi biwe, ica icika ikiyoka kinini. 11 Ariko Farawo na we ahamagara inkerebutsi n’abapfumu+; abaherezi b’abanyamageza bo mu Misiri na bo nyene bagira nk’ivyo nyene, bakoresheje amageza yabo+. 12 Nuko baterera hasi umwe wese inkoni yiwe, zica zicika ibiyoka bininibinini; mugabo inkoni ya Aroni ica imira inkoni zabo. 13 Ariko umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze.

14 Maze Yehova abwira Musa ati: “Umutima wa Farawo urakomantaye+. Yanse kurekura abantu banje+. 15 Uze ugende kwa Farawo mu gitondo. Raba! Arasohotse aja ku mazi+! Uze uhagarare ahantu uhura na we iruhande y’inkengera y’uruzi Nili+, kandi uze utware mu kuboko kwawe ya nkoni yahinduka inzoka+. 16 Uze umubwire uti: ‘Yehova Imana y’Abaheburayo yakuntumyeko+, ati: “Rekura abantu banje bankorere mu gahinga+,” ariko raba gushika n’ubu nturagamburuka. 17 Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Iki ni co uzomenyerako yuko jewe ndi Yehova+. Ehe ngira nkubite inkoni iri mu kuboko kwanje ku mazi ari mu ruzi Nili+, kandi ategerezwa guhinduka amaraso+. 18 Ifi ziri mu ruzi Nili zizopfa+, uruzi Nili ruzoduhuka koko+, kandi Abanyamisiri ntibazocutsa umutima wo kunywa amazi yarwo+.”’”

19 Mu nyuma, Yehova abarira Musa ati: “Bwira Aroni uti: ‘Fata inkoni yawe, uramvurire ukuboko kwawe+ hejuru y’amazi ya Misiri, hejuru y’inzuzi zabo, hejuru y’imigende yabo ya Nili no hejuru y’ibidengeri vyabo vyuzuyeko amarenga+, no hejuru y’amazi yabo yose ari mu bigega, kugira acike amaraso.’ Kandi hazoba koko amaraso mu gihugu cose ca Misiri no mu vyombo vy’ibiti no mu vyombo vy’amabuye.” 20 Ako kanya Musa na Aroni bakora kuno+, nk’uko Yehova yari yategetse+; aduza ya nkoni akubita amazi ari mu ruzi Nili mu maso ya Farawo n’abasavyi biwe+, amazi yose yari mu ruzi Nili ahinduka amaraso+. 21 Ifi zari mu ruzi Nili zirapfa+, uruzi Nili na rwo rutangura kuduhuka; kandi Abanyamisiri ntibashobora kunywa amazi yarwo+; amaraso yuzura igihugu cose ca Misiri.

22 Yamara ba baherezi b’abanyamageza ba Misiri bagira nk’ivyo nyene, bakoresheje ubuhinga bwabo bw’amayobera+, ku buryo umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+. 23 Farawo rero arahindukira, aja mu nzu yiwe, ntiyashira umutima no kuri ivyo+. 24 Nuko Abanyamisiri bose batangura kwimba mu micungararo y’uruzi Nili barondera amazi yo kunywa, kuko batashobora kunywa amazi y’uruzi Nili+. 25 Nuko hahera imisi indwi Yehova akubise uruzi Nili.

8 Maze Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Rekura abantu banje bankorere+. 2 Kandi ukaguma wanka kubarekura, ehe ngira nteze akarere kawe kose icago c’ibikere+. 3 Uruzi Nili ruzonyagaramwo ibikere, biduge koko vyinjire mu nzu yawe, no mu cumba cawe c’uburyamo, no ku buriri bwawe, no mu mazu y’abasavyi bawe, no ku bantu bawe no mu mafuru yawe, no mu bikono vyawe vy’ugucumba+. 4 Kandi ibikere bizoduga kuri wewe, no ku bantu bawe, no ku basavyi bawe bose+.”’”

5 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: “Bwira Aroni uti: ‘Ramvurira ukuboko kwawe n’inkoni yawe+ hejuru y’inzuzi, hejuru y’imigende ya Nili n’ibidengeri vyuzuyeko amarenga, utume ibikere biduga ku gihugu ca Misiri.’” 6 Aroni aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’amazi ya Misiri, ibikere bica bitangura kuduga, bipfuka igihugu ca Misiri. 7 Ariko abaherezi b’abanyamageza bagira nk’ivyo nyene, bakoresheje ubuhinga bwabo bw’amayobera, batuma ibikere biduga ku gihugu ca Misiri+. 8 Mu nyuma Farawo ahamagara Musa na Aroni, avuga ati: “Nimwinginge Yehova+ akure ibi bikere kuri jewe no ku bantu banje, kuko nshaka kurekura abantu ngo bagende, kugira bashikanire ikimazi Yehova+.” 9 Maze Musa abwira Farawo ati: “Ntera iryo teka, umbwire igihe nzogusabira mwe n’abasavyi bawe n’abantu bawe, kugira ngo ivyo bikere bitikizwe bive kuri wewe no ku mazu yawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa.” 10 Kuri ivyo avuga ati: “Ejo.” Na we ati: “Bizoba nk’uko ijambo ryawe rivuze, kugira umenye ko ata wundi ariho ameze nka Yehova Imana yacu+, 11 kuko ibikere bitazobura kuva kuri wewe no ku mazu yawe no ku basavyi bawe no ku bantu bawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa+.”

12 Nuko Musa na Aroni barasohoka bava kwa Farawo, maze Musa atakambira Yehova+ kubera ibikere yari yashize kuri Farawo. 13 Maze Yehova akora nk’uko ijambo rya Musa rivuze+, nya bikere bitangura gupfa birahona mu mazu, mu bigo no mu mashamba. 14 Nuko barabirundanya, ibirundo ku bindi, igihugu gica gitangura kuduhuka+. 15 Farawo ngo abone habaye agahengwe, akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze+.

16 Yehova rero abarira Musa ati: “Bwira Aroni uti: ‘Bangura inkoni yawe+ ukubite umukungugu wo kw’isi, na wo ubwirizwa gucika imibu* mu gihugu cose ca Misiri.’” 17 Bagira kuno. Nuko Aroni abangura ukuboko kwiwe n’inkoni yiwe, akubita umukungugu wo kw’isi, maze imibu ica ija ku bantu no ku bikoko. Umukungugu wose wo kw’isi ucika imibu mu gihugu cose ca Misiri+. 18 Abaherezi b’abanyamageza na bo bagerageza kugira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo bw’amayobera+, kugira bazane imibu, ariko birabananira+. Nya mibu ija ku bantu no ku bikoko. 19 Ku bw’ivyo ba baherezi b’abanyamageza babwira Farawo bati: “Ni urutoke+ rw’Imana+!” Mugabo umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze.

20 Maze Yehova abwira Musa ati: “Vyuka kare mu gitondo, uhagarare imbere ya Farawo+. Raba! Arasohotse aja ku mazi! Uze kumubwira uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Rekura abantu banje bankorere+. 21 Mugabo nutarekura abantu banje, ehe ngira ndungike ibibugu+ kuri wewe no ku basavyi bawe no ku bantu bawe no mu mazu yawe; kandi amazu ya Misiri azokwuzura ibibugu gusa, vyuzure n’ubutaka babako. 22 Kandi kuri uwo musi, intara ya Gosheni abantu banje bahagazeko nzoyigira koko iyitandukanye n’ahandi, ku buryo ata kibugu na kimwe kihaba+; kugira umenye yuko jewe ndi Yehova hagati mw’isi+. 23 Nzoshira koko urugabano hagati y’abantu banje n’abantu bawe+. Ejo ico kimenyetso kizoba.”’”

24 Yehova akora kuno; maze amarumbu maninimanini y’ibibugu atangura gushwara inzu ya Farawo n’amazu y’abasavyi biwe n’igihugu cose ca Misiri+. Igihugu kirayogera kubera ibibugu+. 25 Amaherezo Farawo ahamagara Musa na Aroni, avuga ati: “Nimugende, mushikanire ikimazi Imana yanyu mu gihugu+.” 26 Mugabo Musa avuga ati: “Ntivyemerwa ko tugira gutyo, kuko twohava dushikanira Yehova Imana yacu ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri+. Nka hamwe twoshikana ikintu giteye ishishi ku Banyamisiri mu maso yabo, ntibodutera amabuye? 27 Tuzogenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kandi dutegerezwa gushikanira ikimazi Yehova Imana yacu nk’uko yatubwiye+.”

28 Farawo aca avuga ati: “Jewe nzobarekura+, kandi koko muzoshikanira ikimazi Yehova Imana yanyu mu gahinga+. Kimwe gusa, ntimuje kure cane mu rugendo rwanyu. Munyingingire Imana+.” 29 Maze Musa avuga ati: “Ehe ndavuye iwawe, kandi ndinginga koko Yehova, kandi ibibugu ntibizobura kuva kuri Farawo, ku basavyi biwe no ku bantu biwe ejo. Ariko Farawo ntiyongere gukina mu kutarekura abantu ngo bashikanire ikimazi Yehova+.” 30 Inyuma y’ivyo Musa arasohoka ava kwa Farawo, araheza yinginga Yehova+. 31 Nuko Yehova agira nk’uko ijambo rya Musa rivuze+, nya bibugu biva kuri Farawo, ku basavyi biwe no ku bantu biwe+. Nta na kimwe casigaye. 32 Ariko Farawo akomantaza umutima wiwe n’ico gihe nyene, ntiyarekura abantu+.

9 Ku bw’ivyo, Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, umubwire+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: “Rekura abantu banje, bankorere. 2 Mugabo niwabandanya wanka kubarekura kandi ukaguma ubafashe+, 3 ehe ukuboko kwa Yehova+ kuraje ku bitungwa vyawe+ biri mw’ishamba. Hazotera ikiza+ gikaze cane ku mafarasi, ku ndogobwa, ku ngamiya, ku busho no ku mukuku. 4 Kandi Yehova azokwerekana koko ubudasa hagati y’ibitungwa vya Isirayeli n’ibitungwa vya Misiri, kandi nta kintu na kimwe mu vyegukira bene Isirayeli vyose kizopfa+.”’” 5 Vyongeye, Yehova ashinga igihe, ati: “Ejo Yehova azokora ico kintu mu gihugu+.”

6 Nuko Yehova akora ico kintu ku musi ukurikira, ubwoko bwose bw’ibitungwa vya Misiri birapfa+; mugabo nta na kimwe mu bitungwa vya bene Isirayeli capfuye. 7 Maze Farawo atuma kuraba: erega, nta na kimwe mu bitungwa vya Isirayeli cari capfuye. Yamara umutima wa Farawo ubandanya gukomantara+, ntiyarekura abantu.

8 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Musa na Aroni ati: “Nimwitorere umusengesenge wo mw’itanure+ wuzuye ibiganza vyanyu vyompi, hanyuma Musa awuterere mu kirere, mu maso ya Farawo. 9 Na wo uzocika intumo ku gihugu cose ca Misiri, kandi uzocika ibihute vy’ibivyimba bituragurika+, ku muntu no ku gikoko mu gihugu cose ca Misiri.”

10 Nuko batora umusengesenge wo mw’itanure, bahagarara imbere ya Farawo, maze Musa awuterera mu kirere, uca ucika ibihute vy’ibivyimba+, bituragurika ku muntu no ku gikoko. 11 Abaherezi b’abanyamageza ntibashobora guhagarara imbere ya Musa kubera ibihute, kuko vyari vyasheshe kuri nya baherezi b’abanyamageza no ku Banyamisiri bose+. 12 Mugabo Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yabwiye Musa+.

13 Maze Yehova abwira Musa ati: “Vyuka kare mu gitondo uhagarare imbere ya Farawo+, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: “Rekura abantu banje bankorere+. 14 Kuko ubu ngira ndungike ivyago vyanje vyose bikubite umutima wawe, bije no ku basavyi bawe, no ku bantu bawe, kugira umenye ko mw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+. 15 Kuko ubu mba naratumye ukuboko kwanje nkagukubitisha ikiza wewe n’abantu bawe, ukazimanganywa kw’isi+. 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+. 17 Mbega n’ubu uracagira ubwibone ku bantu banje mu kutabarekura+? 18 Ehe ngira ntume ejo nk’aya mango hagwa urubura rukaze cane, urubura ata rumeze nka rwo rwigeze kubaho mu Misiri kuva umusi yashingwa gushika n’ubu+. 19 Ubu rero tuma, bugamike ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyawe vyose biri mw’ishamba. Nayo umuntu wese n’igikoko cose bizosangwa mw’ishamba bidakoranirijwe mu nzu, urubura+ ruzobigwako, bipfe.”’”

20 Umuntu wese mu basavyi ba Farawo yatinye ijambo rya Yehova yarahungishirije abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mu mazu+, 21 mugabo umuntu wese atashize umutima kuri iryo jambo rya Yehova, yarekeye abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mw’ishamba+.

22 Yehova rero abwira Musa ati: “Ramvura ukuboko kwawe+ werekeza mu majuru, kugira ngo urubura+ rugwe ku gihugu cose ca Misiri, ku muntu no ku gikoko, no ku vyatsi vyose vyo mw’itongo mu gihugu ca Misiri.” 23 Nuko Musa aramvura inkoni yiwe ayerekeza mu majuru; maze Yehova arekura imituragaro n’urubura+, umuriro na wo ushungurukira kw’isi, Yehova aguma agwisha urubura ku gihugu ca Misiri. 24 Nuko haza urubura, n’umuriro urabagiza hagati muri rwo. Rwari rukaze cane ku buryo ata rumeze nka rwo rwari bwigere rubaho mu gihugu cose ca Misiri kuva cacika ihanga+. 25 Nuko urubura rukubita igihugu cose ca Misiri. Urubura rukubita ikintu cose cari mw’ishamba, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko, n’ubwoko bwose bw’ibimera vyo mw’ishamba; kandi rutabagaza ubwoko bwose bw’ibiti vyo mw’ishamba+. 26 Mu ntara ya Gosheni gusa, aho bene Isirayeli bari, ni ho hataguye urubura na rukeyi+.

27 Amaherezo Farawo atuma guhamagara Musa na Aroni, ababwira ati: “Ubu ho nacumuye+. Yehova aragororotse+, twe n’abantu banje ni twe turi mu makosa. 28 Inginga Yehova imituragaro y’Imana n’urubura bisigeho+. Nzoba rero niteguriye kubarekura, kandi ntimuzoba mukigumye ng’aha.” 29 Nuko Musa amubwira ati: “Nkimara gusohoka nkava mu gisagara, ndasanzira ibiganza Yehova+. Imituragaro iraza guhagarara, n’urubura ntiruzoba rukibandanya, kugira umenye ko isi ari iya Yehova+. 30 Nayo weho n’abasavyi bawe, nsanzwe nzi ko n’ico gihe mutaza gutinya kubera Yehova Imana+.”

31 Igiterwa c’ilino* be na sayiri* vyari vyakubiswe, kuko sayiri yari ihundo, ilino na ryo rikaba ryari urushurwe+. 32 Mugabo ingano na kusemeti*+ ntivyari vyakubiswe, kuko vyera bitevye. 33 Musa aca arasohoka igisagara avuye kwa Farawo, araheza asanzira ibiganza Yehova, maze imituragaro n’urubura bitangura guhagarara, n’imvura ntiyasubira kugwa kw’isi+. 34 Aho Farawo aboneye ko imvura n’urubura n’imituragaro vyahagaze, yongera gucumura no gukomantaza umutima wiwe+, we hamwe n’abasavyi biwe. 35 Nuko umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa, ntiyarekura bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yavuze biciye kuri Musa+.

10 Maze Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, kuko jewe naretse umutima wiwe n’imitima y’abasavyi biwe bigakomantara+, kugira nshire ibi bimenyetso vyanje imbere yiwe+, 2 no kugira umenyeshe mu matwi y’umuhungu wawe n’umuhungu w’umuhungu wawe ingene nakariye Misiri, be n’ibimenyetso vyanje nakoreye muri bo+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.”

3 Nuko Musa na Aroni binjira kwa Farawo, bamubwira bati: “Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: ‘Uzogeza ryari kwanka kunyobokera+? Rekura abantu banje bankorere. 4 Kuko niwaguma wanka kurekura abantu banje, ehe ngira nzane inzige hagati y’imbibe zawe ejo+. 5 Zizopfuka koko uburinganire bw’isi buboneka, kandi isi ntizoshobora kuboneka. Zizorigata koko n’utwari twasigaye, utwo mwasigarijwe n’urubura; emwe, zizorya igiti canyu cose kinaga mw’itongo+. 6 Zizokwuzura amazu yawe n’amazu y’abasavyi bawe bose n’amazu yose ya Misiri iyo iva ikagera, ku rugero ba so na ba sogokuru batigeze babona kuva umusi babayeho ku butaka gushika n’uyu musi+.’” Aca arahindukira, arasohoka ava kwa Farawo+.

7 Inyuma y’ivyo abasavyi ba Farawo bamubwira bati: “Uyu muntu azogeza ryari kutubera umutego+? Rekura aba bagabo bagende, bakorere Yehova Imana yabo. Mbega nturamenya ko Misiri yayogeye+?” 8 Nuko Musa na Aroni bagarukanwa kwa Farawo, na we ababwira ati: “Genda, mukorere Yehova Imana yanyu+. Hazogenda bande na bande?” 9 Maze Musa avuga ati: “Tuzojana n’urwaruka rwacu n’abasaza bacu. Tuzojana n’abahungu bacu n’abakobwa bacu+, n’intama zacu n’inka zacu+, kuko dufise umusi mukuru wa Yehova+.” 10 Na we ababwira ati: “Nkabarekura ngo mujane n’abana banyu batoyi, emwe, Yehova azoba ari kumwe namwe+! Raba, ahubwo ikibi ni co mugamije+. 11 Ntibishoboka! Ndabinginze, mugende, mwebwe abantu b’abagabo, mukorere Yehova, kuko ari co murondera.” Baca barabirukana imbere ya Farawo+.

12 Buno Yehova abwira Musa ati: “Ramvurira+ ukuboko kwawe hejuru y’igihugu ca Misiri haze inzige, ziduge hejuru ku gihugu ca Misiri, zirigate ibimera vyose vy’ico gihugu, ikintu cose urubura rwasigaje+.” 13 Ako kanya Musa aramvurira inkoni yiwe hejuru y’igihugu ca Misiri, Yehova aca ahuhutisha umuyaga wo mu buseruko+ ku gihugu uwo musi wose n’ijoro ryose. Bukeye nya muyaga wo mu buseruko uzana inzige. 14 Maze nya nzige zitangura kuduga ku gihugu cose ca Misiri, zigwa ku karere kose ka Misiri+. Zari ubugesera+. Imbere yazo ntihari bwigere haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo, kandi ntihazokwigera haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo mu nyuma yazo. 15 Nuko zipfuka uburinganire buboneka bw’igihugu cose+, ico gihugu gicura umwiza+; zirigata ibimera vyose vy’ico gihugu n’ivyamwa vyose vy’ibiti urubura rwari rwasigaje+. Ntihasigaye ikintu na kimwe gitoto ku biti canke ku bimera vyo mw’ishamba mu gihugu cose ca Misiri+.

16 Nuko Farawo ahamagara ningoga Musa na Aroni, avuga ati: “Nacumuye kuri Yehova Imana yanyu no kuri mwebwe+. 17 Ubu rero, ndabinginze, mubabarire+ igicumuro canje iri rimwe gusa, mwinginge+ Yehova Imana yanyu ankureko gusa iki cago cica.” 18 Nuko arasohoka ava kwa Farawo araheza yinginga Yehova+. 19 Maze Yehova ahindura nya muyaga, uba umuyaga ukomeye wo mu burengero, utwara za nzige uzisuka mu kiyaga Gitukura. Nta n’uruzige rumwe rwasigaye mu karere kose ka Misiri. 20 Ariko Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa+, ntiyarekura bene Isirayeli.

21 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ramvura ukuboko kwawe werekeza mu majuru+, umwiza uze ku gihugu ca Misiri, umwiza ushobora gukorakorwa.” 22 Musa buno nyene aramvura ukuboko kwiwe yerekeza mu majuru, maze umwiza w’umuzimagiza utangura kuza mu gihugu cose ca Misiri kumara imisi itatu+. 23 Nta wabona uwundi, eka nta n’umwe muri bo yahaguruka ngo ave aho ari, imisi itatu; ariko kuri bene Isirayeli bose, aho baba hari umuco+. 24 Inyuma y’ivyo Farawo ahamagara Musa, avuga ati: “Genda, mukorere Yehova+. Intama zanyu n’inka zanyu ni vyo gusa bitazorekurwa. Abana banyu batoyi na bo nyene barashobora kujana namwe+.” 25 Ariko Musa avuga ati: “Wewe ubwawe ni we uzoshira kandi mu maboko yacu ibimazi n’amashikanwa aturirwa, kuko dutegerezwa kubishikanira Yehova Imana yacu+. 26 Ibitungwa vyacu na vyo nyene tuzojana+. Nta n’ikinono kizosigara, kuko ari vyo tuzokuramwo ivyo gukoresha mu gusenga Yehova Imana yacu+, kandi ubwacu ntituzi ivyo tuzoshikana mu gusenga Yehova tutarashikayo+.” 27 Ariko Yehova areka umutima wa Farawo ucika intabarirwa, ntiyemera kubarekura+. 28 Nuko Farawo amubwira ati: “Mva imbere+! Kandi uragaba! Ntugerageze kwongera kubona mu maso hanje, kuko umusi wasubiye kubona mu maso hanje uzopfa+.” 29 Kuri ivyo Musa avuga ati: “Uko uvuze ni ukwo. Sinzosubira kugerageza kubona mu maso hawe+.”

11 Hanyuma Yehova abwira Musa ati: “Ngira nzane ikindi cago kimwe kuri Farawo na Misiri. Inyuma y’ivyo azobarekura muve ng’aha+. Niyabarekura mwese hamwe, azobirukana bubirukane muve ng’aha+. 2 Vugira mu matwi y’abantu rero basabe, umugabo wese mugenziwe n’umugore wese mugenziwe, ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu+.” 3 Nuko Yehova aha abantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri+. Vyongeye uyo mugabo Musa yari ahambaye cane mu gihugu ca Misiri, mu maso y’abasavyi ba Farawo no mu maso y’abantu+.

4 Hanyuma Musa yongera kuvuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nko mu gicugu ndasohoka nje hagati mu Misiri+, 5 kandi imfura yose+ yo mu gihugu ca Misiri itegerezwa gupfa, uhereye ku mfura ya Farawo yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe ugashika ku mfura y’umusukukazi ari ku rusyo rw’amaboko, n’ic’uburiza cose c’igikoko+. 6 Kandi, hazoba koko amaborogo akomeye mu gihugu cose ca Misiri ata yameze nka yo arigera abaho, kandi ata yameze nka yo azigera yongera kuhaba+. 7 Ariko nta n’umwe muri bene Isirayeli imbwa izozungagiriza ururimi yarakaye, kuva ku muntu gushika ku gikoko+; kugira mumenye yuko Yehova ashoboye kwerekana ubudasa hagati y’Abanyamisiri na bene Isirayeli+.’ 8 Kandi aba basavyi bawe bose bazomanuka koko aho ndi bakubite inkoro hasi imbere yanje+, bavuga bati: ‘Genda, wewe n’abantu bose bagukurikira*.’ Inyuma y’ivyo nanje nzosohoka.” Nuko arasohoka, ava kwa Farawo yarunguriye n’ishavu.

9 Maze Yehova abwira Musa ati: “Farawo ntazobumviriza+, kugira ngo ibitangaro vyanje vyongerekane mu gihugu ca Misiri+.” 10 Nuko Musa na Aroni bakorera ivyo bitangaro vyose imbere ya Farawo+. Mugabo Yehova yarareka umutima wa Farawo ugacika intabarirwa, ku buryo atarekura bene Isirayeli ngo bave mu gihugu ciwe+.

12 Yehova abwira Musa na Aroni mu gihugu ca Misiri ati: 2 “Uku kwezi kuzobabera intango y’amezi. Kuzobabera ukwa mbere mu mezi y’umwaka+. 3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu. 4 Mugabo nimba nya rugo rubaye rutoyi cane kuri iyo ntama, uwo muntu rero hamwe n’umubanyi wiwe wo hafi baze bayijane mu nzu yiwe nk’uko igitigiri c’abantu kingana; mukwiye guharūra umwe wese hisunzwe ivyo ashobora gufungura ku bijanye n’iyo ntama. 5 Kuri mwebwe nya ntama ikwiye kuba iyitagira agahonzi+, isuguru, imaze umwaka+. Mushobora gutora mu mpfizi z’intama zikiri nto canke mu mpene. 6 Muze mugume muyizigamye gushika ku musi ugira cumi na kane w’uku kwezi+, kandi ishengero ryose ry’ikoraniro rya Isirayeli ribwirizwa kuyikerera hagati ya ya migoroba ibiri+. 7 Kandi baze batore makeyi ku maraso, bayamije ku bishimaryango uko ari bibiri no ku gice co hejuru y’umuryango w’amazu bazoyiriramwo+.

8 “‘Kandi babwirizwa kurya inyama zayo muri iryo joro+. Baze bazirye zitaze ku muriro, bazikoze udutsima tutarimwo umwambiro+ hamwe n’imboga zirura+. 9 Ntihagire izo murya kuri zo ari mbisi canke zitogotesheje canke zitetse mu mazi, ahubwo zibe zitaze ku muriro: umutwe uri kumwe n’amaguru* be n’ivyo mu nda. 10 Kandi ntihaze hagire izo musigaza kuri zo gushika mu gitondo, ariko izisigaye kuri zo gushika mu gitondo, mukwiye kuziturira n’umuriro+. 11 Kandi uku ni ko mukwiye kubirya: mukenyeye mu mafyinga+, inkweto*+ ziri ku birenge vyanyu, n’inkoni yanyu mu kuboko kwanyu; kandi mutegerezwa kubirya mwihuta. Ni pasika* ya Yehova+. 12 Nanje nzoca mu gihugu ca Misiri muri iryo joro+, nkubite imfura yose mu gihugu ca Misiri, uhereye ku muntu ugashika ku gitungwa+; kandi nzoshitsa imanza+ ku mana zose za Misiri. Ndi Yehova+. 13 Kandi nya maraso azoba ikimenyetso canyu ku mazu murimwo; nanje nzobona ayo maraso nce ndengana hejuru yanyu+, kandi icago ntikizobazako ngo kibahonye ninakubita igihugu ca Misiri.

14 “‘Kandi uyo musi uze ubabere icibutso, kandi mubwirizwa kuwuhimbaza bwa musi mukuru wa Yehova mu mayaruka yanyu yose. Mukwiye kuwuhimbaza bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero. 15 Mu misi indwi muze murye udutsima tutarimwo umwambiro. Egome, ku musi wa mbere muze mukure igicumbe gikāta mu mazu yanyu, kuko uwo wese azorya ivyambiwe, kuva ku musi wa mbere gushika ku wugira indwi+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa muri Isirayeli+. 16 Kandi ku musi wa mbere muze mugire ihwaniro ryeranda, no ku musi ugira indwi ihwaniro ryeranda+. Nta gikorwa kizokorwa kuri iyo misi+. Ibijanye gusa n’ivyo umuntu wese akenera kurya, ivyo vyonyene ni vyo mushobora gukora+.

17 “‘Muze mugume mwubahiriza umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+, kuko kuri uyo musi ari ho nzokura ingabo zanyu mu gihugu ca Misiri. Muze mugume mwubahiriza uyo musi mu mayaruka yanyu yose bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero. 18 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba muze murye udutsima tutarimwo umwambiro gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe w’ukwo kwezi, ku mugoroba+. 19 Mu misi indwi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka mu mazu yanyu, kuko uwo wese azohonja ku cambiwe, yaba ari kavamahanga canke imvukira yo mu gihugu+, uyo muntu ategerezwa kurandurwa mw’ikoraniro rya Isirayeli+. 20 Nta kintu cambiwe muzorya. Aho muba hose muze murye udutsima tutarimwo umwambiro.’”

21 Buno nyene Musa ahamagara abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli+, ababwira ati: “Nimwirobanurire ibitungwa bitobito* nk’uko imiryango yanyu iri, muheze mukerere imbagwa ya pasika+. 22 Muze mukore agakama ka ezobu+, mugakoze muri ya maraso ari mw’ibesani, mumije makeyi ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri. Nta n’umwe muri mwebwe akwiye gusohoka hanze y’ubwinjiriro bw’inzu yiwe gushika mu gitondo. 23 Maze Yehova niyanyuragira aje guteza ivyago Abanyamisiri akabona nya maraso ku gice co hejuru y’umuryango no ku bishimaryango uko ari bibiri, Yehova azorengana koko hejuru y’ubwinjiriro, kandi ntazoreka ngo agatikizo kinjire mu mazu yanyu kubahonya+.

24 “Muze mugume mwubahiriza ico kintu bwa ngingo nyobozi+, kuri mwebwe no ku bahungu banyu gushika igihe kitagira urugero+. 25 Kandi nimwinjira mu gihugu Yehova azobaha, nk’uko yavuze, muze mwame rero mukora ico gikorwa+. 26 Kandi abahungu banyu nibababwira bati: ‘Iki gikorwa gisobanura iki kuri mwebwe+?’, 27 muze mubabwire rero muti: ‘Ni ikimazi ca pasika ca Yehova+, uwarenganye hejuru y’amazu ya bene Isirayeli mu Misiri, igihe yateza ivyago Abanyamisiri mugabo akarokora amazu yacu.’”

Maze abantu barunama, bakubita inkoro hasi+. 28 Nuko bene Isirayeli baragenda, bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa na Aroni+. Bakora kuno nyene.

29 Hanyuma mu gicugu, Yehova yica imfura yose mu gihugu ca Misiri+, uhereye ku mfura ya Farawo yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami, ugashika ku mfura y’imbohe yari mu gasho, no ku gitungwa cose c’uburiza+. 30 Maze Farawo aravyuka mw’ijoro, we hamwe n’abasavyi biwe bose n’abandi Banyamisiri bose; hanyuma haba amaborogo akomeye mu Banyamisiri+, kuko ata nzu n’imwe itarimwo uwapfuye. 31 Ako kanya ahamagara+ Musa na Aroni mw’ijoro, maze avuga ati: “Haguruka, mumvire mu bantu, mwe n’abandi bene Isirayeli, mugende, mukorere Yehova, nk’uko mwavuze+. 32 Twara imikuku yanyu n’amasho yanyu, nk’uko mwavuze+, mugende. Kandi mutegerezwa kumpezagira.”

33 Abanyamisiri batangura guhutagiza abo bantu kugira babirukane ningoga+ bave mu gihugu, bavuga ngo: “kuko twese ari nk’aho twapfuye+!” 34 Ku bw’ivyo abo bantu baca batwara igicumbe cabo c’ifu imbere y’uko kijamwo umwambiro, hamwe n’ibikono vyabo vy’ugucumba bizingiriye mu mitamana yabo, babijana ku bitugu vyabo. 35 Nuko bene Isirayeli bagira nk’uko ijambo rya Musa ryavuze, basaba Abanyamisiri ibintu vy’ifeza n’ivy’inzahabu n’imitamana+. 36 Yehova na we aha abo bantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri+, ku buryo bano babaha ivyo basavye+; bakoba Abanyamisiri+.

37 Bene Isirayeli rero bava i Ramesesi+ baja i Sukoti+, ari igitigiri c’abantu b’abagabo ibihumbi amajana atandatu bari ku maguru, hatarimwo abana batoyi+. 38 Kandi uruvange runini rw’abantu+ na rwo nyene rudugana na bo, hamwe n’imikuku n’amasho, umugwi w’ibitungwa vyinshi cane. 39 Hanyuma igicumbe c’ifu bari bakuye mu Misiri batangura kucotsamwo udutsima tw’umuzingi, udutsima tutarimwo umwambiro, kuko kitari catutumvye, kubera ko bari birukanywe mu Misiri ntibashobore gutebagana, kandi vyongeye akaba ata mpamba namba bari birondereye+.

40 Kandi igihe c’ugucumbika kwa bene Isirayeli, abari baracumbitse+ mu Misiri+, cabaye imyaka amajana ane na mirongo itatu+. 41 Hanyuma ya myaka amajana ane na mirongo itatu iheze, mbere kuri uyo musi nyene, ingabo za Yehova zose ziva mu gihugu ca Misiri+. 42 Ni ijoro ryo guhimbaza ku bijanye na Yehova, kuba yabakuye mu gihugu ca Misiri. Ku bijanye na Yehova, iryo joro ni iryo guhimbazwa na bene Isirayeli bose mu mayaruka yabo yose+.

43 Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati: “Iki ni co cagezwe ca pasika+: Nta munyamahanga ashobora kuyiryako+. 44 Mugabo ahari umushumba w’umugabo yaguzwe amahera, utegerezwa kumugenyera+. Aho ni ho rero ashobora kuyiryako. 45 Inyambukira be n’umucangero ntibashobora kuyiryako. 46 Ize iririrwe mu nzu imwe. Ntimuze mugire inyama zayo mukura mu nzu ngo muzijane ahantu kanaka hanze. Kandi ntimuze mumene igufa ryayo na rimwe+. 47 Ikoraniro rya Isirayeli ryose ribwirizwa kuyihimbaza+. 48 Mu gihe kavamahanga abanye nawe ari kavamahanga, kandi vy’ukuri akaba ashaka guhimbariza pasika Yehova, uw’igitsina-gabo wese mu biwe nagenyerwe+. Maze rero arashobora kwegera akayihimbaza; aze acike nk’imvukira y’ico gihugu. Ariko nta mugabo atagenyerewe ashobora kuyiryako. 49 Habwirizwa kubaho itegeko rimwe ku mvukira no kuri kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri mwebwe+.”

50 Nuko bene Isirayeli bose bagira nk’uko Yehova yari yategetse Musa na Aroni. Bakora kuno nyene+. 51 Hanyuma kuri uwo musi nyene Yehova akura bene Isirayeli mu gihugu ca Misiri kumwe n’ingabo zabo+.

13 Yehova yongera kubarira Musa ati: 2 “Niweze ku bwanje imfura yose y’igitsina-gabo yugurura igitereko cose muri bene Isirayeli, mu bantu no mu bitungwa. Ni rwanje+.”

3 Musa abandanya kubwira abantu ati: “Hazoze haribukwa uyu musi muviriyeko mu Misiri+, mu nzu y’abashumba, kuko biciye ku nkomezi z’ukuboko ari ho Yehova abakuye ng’aha+. Nta kintu cambiwe rero gishobora kuribwa+. 4 Uno musi murasohotse, akaba ari mu kwezi kwa Abibu+. 5 Kandi Yehova niyamara kukuzana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi+, ari co yarahiye ba sogokuruza bawe ko azokiguha+, kikaba ari igihugu gitemba amata n’ubuki+, uze ukore ico gikorwa muri uku kwezi. 6 Mu misi indwi uzorya udutsima tutarimwo umwambiro+, ku musi ugira indwi na ho ni umusi mukuru wa Yehova+. 7 Udutsima tutarimwo umwambiro ni two tubwirizwa kuribwa mu misi indwi+. Nta kintu cambiwe gikwiye kuboneka iwawe+, kandi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka iwawe, hagati y’imbibe zawe hose+. 8 Kandi uze ubwire umuhungu wawe kuri uwo musi uti: ‘Ni kubera ivyo Yehova yangiriye igihe nava mu Misiri+.’ 9 Kandi bitegerezwa kukubera ikimenyetso ku kuboko kwawe n’icibutso hagati y’amaso yawe+, kugira ngo itegeko rya Yehova ribe mu kanwa kawe+; kuko biciye ku kiganza gikomeye ari ho Yehova yagukuye mu Misiri+. 10 Kandi utegerezwa kugumya iki cagezwe ku gihe caco cashinzwe ku mwaka ku mwaka+.

11 “Kandi Yehova niyakuzana mu gihugu c’Abanyakanani+, nk’uko yabikurahiye akabirahira na ba sogokuruza bawe+, akakiguha koko, 12 uze wegurire Yehova umuntu wese yuguruye igitereko+, n’ic’uburiza cose, umukangara w’igitungwa+, ikizoba ari rwawe. Ivy’igitsina-gabo ni ivya Yehova+. 13 Kandi indogobwa yose y’uburiza ubwirizwa kuyicunguza intama, nutayicungura na ho, uzotegerezwa rero kuyivuna izosi+. Kandi imfura yose y’umuntu mu bahungu bawe uze uyicungure+.

14 “Kandi umuhungu wawe niyakubaza mu nyuma+ ati: ‘Ibi bisobanura iki?’, uze umubwire uti: ‘Inkomezi z’ukuboko ni zo Yehova yadukuje mu Misiri+, mu nzu y’abashumba+. 15 Maze Farawo aba intabarirwa, ntiyaturekura+, Yehova aca yica imfura yose mu gihugu ca Misiri+, uhereye ku mfura y’umuntu ugashika ku gitungwa c’uburiza+. Ni co gituma ndiko nshikanira Yehova ivy’igitsina-gabo vyose vyugurura igitereko+, n’imfura yose mu bahungu banje nkayicungura+.’ 16 Kandi bitegerezwa kuba ikimenyetso ku kuboko kwawe n’agatengaruhanga hagati y’amaso yawe+, kuko inkomezi z’ukuboko ari zo Yehova yadukuje mu Misiri+.”

17 Kandi igihe Farawo yarekura abantu, Imana ntiyabacanye mu nzira y’igihugu c’Abafilisitiya ngo ni uko hari hafi, kuko Imana yavuga iti: “Abantu bohava bicuza babonye intambara, bagaca basubira mu Misiri+.” 18 Ku bw’ivyo Imana ituma abantu bazunguruka baciye mu nzira yo mu gahinga k’ikiyaga Gitukura+. Mugabo bene Isirayeli baduze bavuye mu gihugu ca Misiri nk’abatonze urugamba+. 19 Kandi Musa ajana amagufa ya Yozefu, kuko yari yararahije bene Isirayeli ashimitse, ati: “Imana ntizobura kubitaho+, kandi mutegerezwa kudugana amagufa yanje muyakure ng’aha+.” 20 Nuko batangura kuva i Sukoti hanyuma bakambika i Etamu ku mubari w’agahinga+.

21 Kandi Yehova yagendera imbere yabo ku murango mu nkingi y’igicu kugira abayobore mu nzira+, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro kugira abahe umuco, bigatuma bagenda ku murango no mw’ijoro+. 22 Nya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’abantu ku murango, eka na nya nkingi y’umuriro mw’ijoro+.

14 Nuko Yehova abarira Musa ati: 2 “Barira bene Isirayeli basubire inyuma bakambike imbere ya Pihahiroti hagati ya Migidoli n’ikiyaga, aharabana na Bayali-zefoni+. Imbere yaho ni ho mubwirizwa gukambika iruhande y’ikiyaga. 3 Maze ku biraba bene Isirayeli, Farawo ntazobura kuvuga ngo: ‘Bariko barayerera bajuragirika mu gihugu. Agahinga kabateraniyeko+.’ 4 Nzoreka rero umutima wa Farawo ucike intabarirwa+, kandi azoboma inyuma koko, nanje nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare+; kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova+.” Nuko bagira ivyo nyene.

5 Mu nyuma umwami wa Misiri amenyeshwa yuko abantu bari bahunze. Buno nyene umutima wa Farawo n’abasavyi biwe urahindurwa ku bijanye na nya bantu+, bituma bavuga bati: “Ivyo twagize ni ibiki, kubona twarekuye Isirayeli ntibe ikidushumbira+?” 6 Aca ategura imikogote yiwe, ajana n’abantu biwe+. 7 Afata imikogote amajana atandatu nyayonyayo+ n’iyindi mikogote yose ya Misiri n’abarwanyi kuri umwe wose muri yo. 8 Nuko Yehova areka umutima wa Farawo umwami wa Misiri ucika intabarirwa+, hanyuma yoma inyuma bene Isirayeli mu gihe bariko bagenda ukuboko gutaritse*+. 9 Abanyamisiri baca baboma inyuma, kandi amafarasi yose akwega imikogote ya Farawo n’abarwanira ku mafarasi biwe+ n’inteko ziwe za gisirikare bagira babahamvye igihe bari bakambitse iruhande y’ikiyaga, iruhande ya Pihahiroti aharabana na Bayali-zefoni+.

10 Farawo yegereje, bene Isirayeli batangura kuraramura amaso yabo, maze babona Abanyamisiri bariko bagendera inyuma yabo. Nuko bene Isirayeli bagira ubwoba cane, baca batangura kuririra Yehova+. 11 Baca babwira Musa bati: “Mbega ni uko mu Misiri ata mva zihari muko watuzana ng’aha gupfira mu gahinga+? Ibi wadukoreye ni ibiki mu kudukura mu Misiri? 12 Iri si rya jambo twakubarira mu Misiri, duti: ‘Twirekere, dukorere Abanyamisiri’? Kuko twopfuma dukorera Abanyamisiri hako dupfira mu gahinga+.” 13 Maze Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye+. Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova, ubwo agira ashitse uno musi ku bwanyu+. Kuko abo Banyamisiri mubona uno musi mutazokwongera kubabona, emwe, habe na rimwe+. 14 Yehova ubwiwe arabarwanira+, namwe murinumira.”

15 Maze Yehova abwira Musa ati: “Kubera iki uguma undirira+? Bwira bene Isirayeli basambure ikambi. 16 Nayo wewe, tarika inkoni yawe+ hanyuma uramvurire ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga ugisature+, kugira bene Isirayeli bace hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+. 17 Nayo jewe, ehe ndaretse imitima y’Abanyamisiri icike intabarirwa+, ngo binjireyo babakurikira, no kugira ngo niheshe ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’inteko ziwe zose za gisirikare, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe+. 18 Kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova ninihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo, ku mikogote yiwe y’intambara no ku barwanira ku mafarasi biwe+.”

19 Maze umumarayika+ w’Imana y’ukuri yagendera imbere y’ikambi ya Isirayeli arahava, aja inyuma yabo, ya nkingi y’igicu na yo iva imbere yabo, ihagarara inyuma yabo+. 20 Nuko ija hagati y’ikambi y’Abanyamisiri n’ikambi ya Isirayeli+. Ku ruhande rumwe yari igicu kiri kumwe n’umwiza. Ku rundi ruhande yaguma ibonesha mw’ijoro+. Kandi umugwi wo hino ntiwegereye uwo hirya, ijoro ryose.

21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+. 22 Amaherezo bene Isirayeli baca hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+, mu gihe amazi yari ababereye uruhome iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo+. 23 Hanyuma Abanyamisiri bajako barabakurikira, n’amafarasi yose ya Farawo, imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe batangura kwinjira babakurikira+, bashika hagati mu kiyaga. 24 Maze mw’iterama ryo mu gitondo Yehova atangura kurabira ikambi y’Abanyamisiri muri ya nkingi y’umuriro n’igicu+, maze ata ikambi y’Abanyamisiri mu muvurungano+. 25 Aguma akurako amakurudumu ku mikogote yabo ku buryo bayitwara vyanka+. Abanyamisiri batangura kuvuga bati: “Duhunge ntitwegere Isirayeli na gatoya, kuko Yehova ata gukeka abarwanira, akarwanya Abanyamisiri+.”

26 Amaherezo Yehova abwira Musa ati: “Ramvurira ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga+, kugira amazi agaruke arengere Abanyamisiri, imikogote yabo y’intambara n’abarwanira ku mafarasi babo.” 27 Musa ako kanya aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga, gica gitangura gusubira uko cari kimeze, buri mu guca. Ico gihe Abanyamisiri bariko barahunga ngo ntibahure na co, mugabo Yehova akunkumurira Abanyamisiri hagati mu kiyaga+. 28 Nuko amazi aguma agaruka+. Amaherezo apfuka ya mikogote y’intambara na bamwe barwanira ku mafarasi bo mu nteko za gisirikare za Farawo zose, ari na bo bari bagiye mu kiyaga babakurikira+. Habe n’umwe muri bo yasigaye+.

29 Bene Isirayeli bobo baciye kw’isi yumutse hagati mu ntebetebe y’ikiyaga+, kandi amazi yababereye uruhome iburyo bwabo n’ibubamfu bwabo+. 30 Gutyo, kuri uyo musi Yehova akiza Isirayeli ayikura mu kuboko kw’Abanyamisiri+, Isirayeli na yo iribonera Abanyamisiri bapfuye, ku nkengera y’ikiyaga+. 31 Vyongeye Isirayeli iribonera ukuboko gukomeye Yehova akoresheje mu kurwanya Abanyamisiri. Abantu baca batangura gutinya Yehova no kwizera Yehova na Musa umusavyi wiwe+.

15 Ico gihe Musa na bene Isirayeli batangura kuririmbira Yehova uru ruririmbo+, bati:

“Reka ndirimbire Yehova, kuko ashizwe hejuru cane+.

Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga+.

 2 Inkomezi zanje n’ubushobozi bwanje ni Ya*+, kuko ambera ubukiriro+.

Iyi ni yo Mana yanje, nanje nzoyihaya+; ni Imana ya data+, nanje nzoyiduza hejuru+.

 3 Yehova ni umugabo mu ntambara+. Yehova ni ryo zina ryiwe+.

 4 Imikogote ya Farawo n’inteko ziwe za gisirikare yatereye mu kiyaga+,

Abarwanyi biwe b’abahizi badwibiye mu kiyaga Gitukura+.

 5 Amazi asuriranya yaciye abarengera+; bamanutse epfo ibwina nk’ibuye+.

 6 Ukuryo kwawe, ewe Yehova, kurerekanye ko ari ukw’ubushobozi bukomeye+,

Ukuryo kwawe, ewe Yehova, umwansi kurasavya+.

 7 Mu bwinshi bw’ubukuru bwawe urashobora gucinya abagukurira hasi+;

Urungika ishavu ryawe rirurumba, rikabarigata nk’ibishakara+.

 8 Biciye ku mpemu zo mu mazuru yawe+, amazi yarundanye;

Yahagaze nk’urugomero rw’isegenya;

Amazi asuriranya yagumaraye mu nda y’ikiyaga*.

 9 Umwansi yavuze ngo: ‘Ndabakurikirana+! Ndabahamvya+!

Ndagabura isahu+! Umutima wanje urabahimba!

Ndasokora inkota yanje! Ukuboko kwanje kurabirukana+!’

10 Wahushe impemu zawe+, ikiyaga kirabapfuka+;

Badwibiye nk’icuma* mu mazi y’agakomeye+.

11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?

Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+?

Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.

12 Waramvuye ukuryo kwawe+, isi itangura kubamira+.

13 Mu buntu bwuzuye urukundo bwawe, wayoboye abantu wahabuje+;

Mu nkomezi zawe, uzobarongōra koko ahantu heranda hawe uba+.

14 Ibisata vy’abantu bizokwumva+, bihagarike umutima+;

Imisonga nk’iy’ukwibaruka+ izofata ababa mu Bufilisitiya.

15 Ico gihe abatware* ba Edomu bazohagarika umutima koko;

Nayo za ntwazagitugu za Mowabu, ukujugumira kuzozifata+.

Ababa i Kanani bose bazovunika umutima koko+.

16 Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+.

Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye,

Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova,

Gushika abantu wishiriyeho+ barenganye+.

17 Uzobazana ubateragire ku musozi w’intoranwa yawe+,

Ahantu hashinzwe wateguye ngo uhabe+, ewe Yehova,

Aheranda+, ewe Yehova, aho amaboko yawe yashinze.

18 Yehova azoganza igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.

19 Hamwe amafarasi ya Farawo+ n’imikogote yiwe y’intambara n’abarwanira ku mafarasi biwe vyinjira mu kiyaga+,

Ni ho Yehova yagarukana amazi y’ikiyaga kuri bo+,

Mu gihe bene Isirayeli bo bagendagendera kw’isi yumutse baciye hagati mu kiyaga+.”

20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+. 21 Kandi Miriyamu yaguma yitabira+ abagabo ati:

“Ririmbira Yehova+, kuko ashizwe hejuru cane+.

Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga+.”

22 Mu nyuma Musa akura Isirayeli ku kiyaga Gitukura maze barasohoka baja mu gahinga ka Shuri+, bagendagenda imisi itatu mu gahinga, mugabo ntibaronka amazi+. 23 Baraheza bashika i Mara+, mugabo ntibashobora kunywa amazi y’i Mara kuko yarura. Ni co catumye ahita Mara*+. 24 Abantu batangura kwidodombera Musa+, bati: “None tunywa iki?” 25 Maze aririra Yehova+. Nuko Yehova amwereka igiti, na we agiterera mu mazi, nya mazi aca araryoha+.

Aho hantu Imana ibashingira ingingo nyobozi be n’ishingiro ry’urubanza, kandi irabageza+. 26 Ibandanya kuvuga iti: “Niwumviriza vy’ukuri ijwi rya Yehova Imana yawe, ugakora ibigororotse mu maso yiwe, kandi koko ugatega ugutwi amabwirizwa yiwe vyongeye ukagumya ingingo nyobozi ziwe zose+, nta n’imwe muri za ndwara nateza Abanyamisiri nzoguteza+; kuko ndi Yehova uwugukiza+.”

27 Inyuma y’ivyo bashika i Elimu, ahari imbizi z’amazi cumi na zibiri n’ibigazi mirongo irindwi+. Nuko bakambika ng’aho iruhande y’amazi.

16 Mu nyuma bava i Elimu+, maze ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rirateba rishika mu gahinga ka Sini+ kari hagati ya Elimu na Sinayi, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwezi kugira kabiri, inyuma y’aho baviriye mu gihugu ca Misiri.

2 Nuko ikoraniro ryose rya bene Isirayeli ritangura kwidodombera Musa na Aroni mu gahinga+. 3 Kandi bene Isirayeli baguma bababwira ngo: “Iyo dupfuma twicwa+ n’ukuboko kwa Yehova mu gihugu ca Misiri tuciteretse za nkono z’inyama+, tucirira umukate tugahaga, kuko mwatuzanye muri aka gahinga kugira mwicishe ikigoyi iri shengero ryose+.”

4 Maze Yehova abwira Musa ati: “Ehe ngira ndabacuncuburire umukate uvuye mu majuru+; kandi abantu baze basohoke umwe wese atore urugero rwiwe ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogendera canke batazogendera mw’itegeko ryanje+. 5 Ku musi ugira gatandatu+ baze bategure ivyo bazoba batoye, kandi bize bingane incuro zibiri ivyo bahora batora ku musi ku musi+.”

6 Nuko Musa na Aroni babwira bene Isirayeli bose bati: “Ku mugoroba muraza kumenya vy’ukuri yuko ari Yehova yabakuye mu gihugu ca Misiri+. 7 Mu gitondo na ho muzobona koko ubuninahazwa bwa Yehova+, kuko yumvise imyidodombo mwidodombera Yehova. Nayo twebwe turi iki muko mutwidodombera?” 8 Musa abandanya ati: “Murabibona Yehova niyabaha ku mugoroba inyama zo kurya, mu gatondo na ho umukate murya mugahaga, kuko Yehova yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera. Nayo twebwe turi iki? Si twebwe mwidodombera, ahubwo ni Yehova+.”

9 Musa yongera kubwira Aroni ati: “Bwira ikoraniro ryose rya bene Isirayeli uti: ‘Nimwegere imbere ya Yehova, kuko yumvise imyidodombo yanyu+.’” 10 Aroni akimara kuvugana n’ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, barahindukira baraba amaja mu gahinga, maze ubuninahazwa bwa Yehova buboneka mu gicu+.

11 Yehova yongera kubarira Musa ati: 12 “Numvise imyidodombo ya bene Isirayeli+. Babarire uti: ‘Hagati ya ya migoroba ibiri muzorya inyama, mu gitondo na ho muhage umukate+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu+.’”

13 Nuko ku mugoroba inkware+ zitangura kuduga, zirapfuka ikambi, mu gitondo na ho hari hatonze intimbatimba y’ikime hirya no hino y’ikambi+. 14 Mu nyuma nya ntimbatimba y’ikime iratumuka, ku buringanire bw’agahinga haca haboneka ibintu vy’utubarara tw’intimba ntonto+, intimba ntonto nk’utubarafu+ kw’isi. 15 Bene Isirayeli ngo babibone, batangura kubwirana bati: “Ibi ni ibiki?” Kuko batari bazi ivyo ari vyo. Musa aca ababwira ati: “Ni umukate Yehova abahaye ngo mufungure+. 16 Iri ni ryo jambo Yehova ategetse: ‘Nimutore kuri vyo, umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura. Mubwirizwa gutora ingero ya omeri+ ku muntu umwumwe, hisunzwe igitigiri c’abantu umwe wese muri mwebwe afise mw’ihema ryiwe.’” 17 Bene Isirayeli batangura gukora kuno; barabitora, bamwe bakegeranya vyinshi abandi bakegeranya bikeyi. 18 Babipimye ku ngero ya omeri, uwari yegeranije vyinshi nta bisagutse yagira, n’uwari yegeranije bikeyi ntiyakehanirwa+. Babitora umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura.

19 Maze Musa ababwira ati: “Ntihagire uwusigazako na bikeyi gushika mu gitondo+.” 20 Mugabo ntibumviriza Musa. Iyo hagize ababisigazako gushika mu gitondo, vyaca bivega inyo bikaduhuka+, ku buryo Musa abarakarira+. 21 Baza barabitora buri gitondo+, umwe wese bivanye n’ivyo ashoboye gufungura. Izuba rigamburuye, vyaca bishonga.

22 Hanyuma ku musi ugira gatandatu, batora umukate wiyongereye kabiri+, ingero zibiri za omeri ku muntu. Nuko abakuru bose b’iryo koraniro baraza, babimenyesha Musa. 23 Na we ababwira ati: “Ni vyo Yehova yavuze. Ejo hazoba ihimbazwa ry’isabato, ikazoba ari isabato nyeranda ya Yehova+. Ivyo mushoboye kwotsa mwotse, n’ivyo mushoboye guteka muteke+, ibisagutse vyose na vyo mubibike, mubizigame gushika mu gitondo.” 24 Nuko barabibika gushika mu gitondo, nk’uko Musa yari yategetse; kandi ntivyaduhutse canke ngo bizemwo inyo+. 25 Maze Musa avuga ati: “Nimubirye uno musi, kuko uno musi ari isabato+ kuri Yehova. Uno musi nta vyo muza gusanga mu gahinga. 26 Mu misi itandatu muzobitora, ariko ku musi ugira indwi ni isabato+. Kuri uwo musi nta bizokwiremarema.” 27 Ariko ku musi ugira indwi bamwe mu bantu barasohoka kubitora, mugabo ntibaronka namba.

28 Ku bw’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Muzogeza ryari kwanka kugumya amabwirizwa yanje n’amategeko yanje+? 29 Mumenye yuko Yehova yabahaye isabato+. Ni co gituma ku musi ugira gatandatu abaha umukate w’imisi ibiri. Mugume mwicaye umwe wese iwe+. Ntihagire uwusohoka ngo ave aho ari ku musi ugira indwi.” 30 Hanyuma abantu batangura guhimbaza isabato ku musi ugira indwi+.

31 Inzu ya Isirayeli ica ivyita “manu*.” Kandi vyarera nk’imbuto y’agati kitwa gadi, akanovera kavyo na ko kari nk’ak’udutsima tubase turimwo ubuki+. 32 Maze Musa avuga ati: “Iri ni ryo jambo Yehova ategetse: ‘Nimuvyuzuze ingero ya omeri bibe ikintu co kuzigama mu mayaruka yanyu yose+, kugira babone umukate nabagaburiye mu gahinga igihe nari ndabakuye mu gihugu ca Misiri+.’” 33 Nuko Musa abwira Aroni ati: “Tora umubindi uwushiremwo omeri yuzuye manu, uwutereke imbere ya Yehova ube ikintu co kuzigama mu mayaruka yanyu yose+.” 34 Nk’uko Yehova yari yategetse Musa, Aroni awutereka imbere ya ca Gishingantahe*+, uba ikintu co kuzigama. 35 Nuko bene Isirayeli barya manu imyaka mirongo ine+, kugeza bashitse mu gihugu kibamwo abantu+. Manu ni yo bariye kugeza bashitse ku mupaka w’igihugu ca Kanani+. 36 Omeri rero ni ic’icumi c’ingero ya efa*.

17 Hanyuma ikoraniro ryose rya bene Isirayeli riva mu gahinga ka Sini+ intambwe ku yindi, izo bagize hisunzwe itegeko rya Yehova+, baraheza bakambika i Refidimu+. Ariko aho nta mazi yariho abantu bonywa.

2 Nuko abantu baja mu vyo gutonganya Musa, ngo+: “Duhe amazi tunywe.” Mugabo Musa ababwira ati: “Kubera iki muntonganya? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?” 3 Abantu babandanya kunyoterwa amazi aho hantu, baguma bidodombera Musa ngo: “Kubera iki watuduganye ukadukura mu Misiri kugira ngo utwicishe inyota twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu+?” 4 Amaherezo Musa aririra Yehova ati: “Aba bantu ndabagire nte? Hasigaye gato bakantera amabuye+!”

5 Maze Yehova abwira Musa ati: “Rengana uje imbere y’abantu+, utware bakeyi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli na ya nkoni yawe wakubitisha uruzi Nili+. Yitware mu kuboko kwawe, ugume ugenda. 6 Ehe mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Nawe uze gukubita ku gitandara, amazi ave muri co, abantu banywe+.” Nuko Musa agira kuno mu maso y’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli. 7 Nya hantu ahita Masa+ na Meriba*+, kubera bene Isirayeli bamutonganije no kubera bagejeje Yehova+, bavuga ngo: “Yehova ari hagati muri twebwe canke nta wuhari+?”

8 Hanyuma Abamaleki+ baraza ngo barwane na Isirayeli i Refidimu+. 9 Musa aca abwira Yosuwa+ ati: “Dutorere abagabo hanyuma usohoke+, urwane n’Abamaleki. Ejo nzohagarara kw’isonga ry’umurambi, mfise ya nkoni y’Imana y’ukuri mu kuboko kwanje+.” 10 Maze Yosuwa agira nk’uko Musa yari amubwiye+, kugira arwane n’Abamaleki. Hanyuma Musa na Aroni na Huru+ baduga kw’isonga ry’umurambi.

11 Kandi Musa yapfa kuduza ukuboko kwiwe, Abisirayeli bakanesha+, mugabo apfuye kumanura ukuboko kwiwe, Abamaleki bakanesha. 12 Amaboko ya Musa aremerewe, bafata ibuye barishira munsi yiwe, na we aryicarako; Aroni na Huru bashigikira amaboko yiwe, umwe hino uwundi hirya, ku buryo amaboko yiwe aguma gushika izuba rirenze. 13 Gutyo Yosuwa atsinda Amaleki n’abantu biwe akoresheje ubugi bw’inkota+.

14 Yehova buno abwira Musa ati: “Andika ibi mu gitabu+ bibe icibutso, wongere ubimenyeshe mu matwi ya Yosuwa, uti: ‘Nzohanagura buhere ukwibukwa kwa Amaleki munsi y’amajuru+.’” 15 Hanyuma Musa yubaka igicaniro*, acita Yehova-nisi, 16 avuga ati: “Kubera ko hari ukuboko kuriko kurarwanya intebe y’ubwami+ ya Ya*+, Yehova azorwana intambara na Amaleki uva kw’iyaruka uja ku rindi+.”

18 Maze Yetiro umuherezi wa Midiyani, sebukwe wa Musa+, yumva ibintu vyose Imana yari yakoreye Musa na Isirayeli abantu bayo, ingene Yehova yari yakuye Isirayeli mu Misiri+. 2 Nuko Yetiro, sebukwe wa Musa, atora Zipora umugore wa Musa, inyuma y’aho Musa amurungikiye iwabo, 3 atora n’abahungu biwe babiri+, umwe akaba yitwa Gerishomu+, kuko yavuga ati: “kuko nabaye kavamahanga mu gihugu kinyamahanga”; 4 uwundi na we akaba yitwa Eliyezeri+, kuko yavuga ati: “kuko Imana ya data ari yo mufasha wanje, kuko yandokoye ikankiza inkota ya Farawo+.”

5 Nuko Yetiro sebukwe wa Musa, n’abahungu biwe n’umugore wiwe baza aho Musa ari, mu gahinga aho yari akambitse, ku musozi w’Imana y’ukuri+. 6 Maze atuma kuri Musa ati: “Jewe sobukwe Yetiro+, ndaje aho uri, be n’umugore wawe nyene ari kumwe n’abahungu biwe babiri.” 7 Ako kanya Musa arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi yongera aramusoma+. Baca batangura kubazanya amakuru. Inyuma y’ivyo binjira mw’ihema.

8 Musa atangura kwiganira sebukwe ibintu vyose Yehova yari yaragiriye Farawo na Misiri kubera Isirayeli+, n’amagume yose yari yarabashikiye mu nzira+, yamara Yehova akabarokora+. 9 Maze Yetiro arahimbarwa kubera ivyiza vyose Yehova yari yakoreye Isirayeli kuko yari yarabarokoye mu kuboko kwa Misiri+. 10 Ku bw’ivyo Yetiro avuga ati: “Hahezagirwe Yehova, uwabarokoye mu kuboko kwa Misiri no mu kuboko kwa Farawo, uwarokoye kandi abantu akabakura munsi y’ukuboko kwa Misiri+. 11 Ubu rero ndamenye koko yuko Yehova akomeye kuruta izindi mana zose+, kubera ivyo bintu bakoze bita imbere mu kubarwanya.” 12 Maze Yetiro sebukwe wa Musa, atora ishikanwa riturirwa n’ibimazi bishikanirwa Imana+. Hanyuma Aroni n’abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli baza gusangira umukate na sebukwe wa Musa, imbere y’Imana y’ukuri+.

13 Ku musi ukurikira, Musa aricara nk’uko bisanzwe ngo acire imanza abantu+. Kandi abantu baguma bahagarara imbere ya Musa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba. 14 Maze sebukwe wa Musa abona ibintu vyose yariko akorera abantu. Ni kwo kuvuga ati: “Iki gikorwa uriko urakorera abantu ni nyabaki? Kubera iki ari wewe wenyene uguma wicaye, abantu bose na bo bakaguma bahagarara imbere yawe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba?” 15 Maze Musa abwira sebukwe ati: “Ni kubera ko abantu baguma baza kuri jewe gusiguza Imana+. 16 Mu gihe havyutse urubanza muri bo+, rutegerezwa kuza kuri jewe, nanje ngategerezwa guca urubanza hagati y’uruhande rumwe n’urundi, kandi ngategerezwa kumenyesha ingingo z’Imana y’ukuri n’amategeko yayo+.”

17 Nuko sebukwe amubwira ati: “Uburyo uriko urakora si bwiza. 18 Emwe, uburuhe buzokwica, wewe n’aba bantu muri kumwe, kuko iki gikorwa kiremereye cane kuri wewe+. Ntiwoshobora kugikora wenyene+. 19 Umviriza rero ijwi ryanje+. Ngira nkugire inama, kandi Imana izobana nawe+. Ba ari wewe userukira abantu imbere y’Imana y’ukuri+, kandi abe ari wewe uzana imanza imbere y’Imana y’ukuri+. 20 Kandi utegerezwa kubaburira ku bijanye n’ingingo nyobozi be n’amategeko+, ubamenyeshe inzira bakwiye kugenderamwo n’igikorwa bakwiye gukora+. 21 Mugabo wewe ukwiye kurobanura mu bantu bose abagabo babishoboye+, batinya Imana+, abagabo b’abizigirwa+, banka inyungu y’akarenganyo+. Abo uheze ubagire abakuru babo, babe abakuru b’ibihumbi+, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu, n’abakuru b’amacumi+. 22 Na bo baze bacire imanza abantu igihe cose bibereye. Urubanza rwose rugoye bazorukuzanira+, mugabo urubanza rwose rworoshe ubwabo bazorutunganya bwa bacamanza. Niwiremurure rero, na bo bafadikanye nawe kwikorera umutwaro+. 23 Niwakora ico kintu, kandi Imana ikaba yabigutegetse, uzobishobora rero, kandi n’aba bantu bose bazoshika iwabo amahoro+.”

24 Buno nyene Musa yumviriza ijwi rya sebukwe, akora ivyo yari yavuze vyose+. 25 Nuko Musa atangura gutora muri Isirayeli yose abagabo babishoboye, abashinga amabanga yo kuba abakuru b’abantu+, abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi. 26 Hanyuma bacira imanza abantu igihe cose bibereye. Urubanza rugumye baruzanira Musa+, mugabo urubanza rwose rworoshe ubwabo bararutunganya bwa bacamanza. 27 Inyuma y’ivyo Musa aherekeza sebukwe+, yigira mu gihugu ciwe.

19 Mu kwezi kugira gatatu inyuma y’aho bene Isirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri+, kuri nya musi nyene, bashika mu gahinga ka Sinayi+. 2 Hanyuma bava i Refidimu+, binjira mu gahinga ka Sinayi, bakambika mu gahinga+. Isirayeli ikambika ng’aho imbere y’umusozi+.

3 Hanyuma Musa aduga ku Mana y’ukuri, Yehova aca atangura kumuhamagarira muri nya musozi+, avuga ati: “Ibi ni vyo ubwirizwa kubwira inzu ya Yakobo no kubarira bene Isirayeli: 4 ‘Ubwanyu mwariboneye ivyo nakoreye Abanyamisiri+, kugira ngo mwebwe ndabatware ku mababa y’inkona, ndabazane kuri jewe+. 5 Ubu rero nimwagamburuka vy’ukuri+ ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje+, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose+, kuko isi yose ari rwanje+. 6 Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda+.’ Ayo ni yo majambo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli.”

7 Nuko Musa araza, ahamagara abagabo b’inararibonye+ b’ico gisata, ashira imbere yabo ayo majambo yose Yehova yari yamutegetse+. 8 Inyuma y’ivyo abantu bose, ata n’umwe avuyemwo, bishura bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora+.” Buno nyene Musa asubirana amajambo yabo kwa Yehova+. 9 Yehova aca abwira Musa ati: “Ehe ndaje kuri wewe mu gicu cijimye+, kugira abantu bumve igihe mvugana nawe+, no kugira ngo na wewe bakwizere gushika igihe kitagira urugero+.” Maze Musa yiganira Yehova amajambo y’abantu.

10 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda ku bantu, ubeze uno musi n’ejo, na bo bategerezwa kumesa imitamana yabo+. 11 Kandi bategerezwa kuba biteguye ku bw’umusi ugira gatatu, kuko ku musi ugira gatatu Yehova azomanuka imbere y’amaso y’abantu bose, ku musozi Sinayi+. 12 Kandi utegerezwa gushiriraho uturimbi abantu hirya no hino, uti: ‘Mwirinde ntimuduge ku musozi, kandi ntimukore ku mpera zawo. Umuntu wese azokora ku musozi ntazobura kwicwa+. 13 Nta kuboko gukwiye kumukorako, kuko ata kabuza azoterwa amabuye canke agatobekeranywa. Caba igitungwa canke umuntu, ntikizobaho+.’ Ihembe ry’isuguru y’intama niryavuzwa+, bazoshobora kuduga ku musozi.”

14 Maze Musa aramanuka avuye ku musozi aza aho abantu bari, atangura kubeza; na bo batangura kumesa imitamana yabo+. 15 Nuko abwira abantu ati: “Nimwitegure+ muri iyi misi itatu. Ntimwegere icitwa umugore+.”

16 Ku musi ugira gatatu mu gitondo, hatangura kuba imituragaro n’imiravyo+, n’igicu kizitanye+ ku musozi, n’ijwi ryumvikana cane ry’inzamba+, ku buryo abantu bose bari mw’ikambi batangura kujugumira+. 17 Buno Musa asohora abantu hanze y’ikambi kugira bahure n’Imana y’ukuri, hanyuma bahagarara ku mucamo w’umusozi+. 18 Umusozi Sinayi ufumba umwotsi hose+, bitumwe n’uko Yehova yari yamanutse kuri wo mu muriro+. Kandi umwotsi wawo waguma uduga nk’umwotsi w’itanure+, kandi umusozi wose wariko urajugumira cane+. 19 Maze ijwi ry’inzamba rirushirije kuguma riduga, Musa atangura kuvuga, Imana y’ukuri na yo itangura kumwishura n’ijwi+.

20 Nuko Yehova amanuka ku musozi Sinayi, kw’isonga ryawo. Maze Yehova ahamagara Musa ngo aze kw’isonga ry’umusozi, Musa na we araduga+. 21 Yehova rero abwira Musa ati: “Manuka, uburire abantu, ntibahirahire ngo bamene baje aho Yehova ari ngo bihweze, bigatuma benshi muri bo bapfa+. 22 N’abaherezi nyene, abegera Yehova ubudasiba, nibiyeze+ kugira Yehova ntiyaturukire kuri bo+.” 23 Musa aca abwira Yehova ati: “Abantu ntibashobora kuduga ku musozi Sinayi, kuko ubwawe wamaze kutuburira, ngo: ‘Shiriraho uturimbi umusozi, uwugire mweranda+.’” 24 Ariko Yehova amubwira ati: “Genda, manuka, kandi utegerezwa kuduga, uri kumwe na Aroni. Mugabo abaherezi be n’abantu ntibamene ngo baduge aho Yehova ari, kugira ntiyaturukire kuri bo+.” 25 Nuko Musa amanuka aho abantu bari, arababwira+.

20 Imana ivuga aya majambo yose, iti+:

2 “Ndi Yehova Imana yawe+ yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+. 3 Ntukagire izindi mana+ izo ari zo zose unzana mu maso.

4 “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi+. 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; 6 mugabo nkagirira ubuntu bwuzuye urukundo iyaruka rigira igihumbi ku bankunda bakagumya amabwirizwa yanje+.

7 “Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+.

8 “Mu kwibuka umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda+, 9 uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu+. 10 Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, wewe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, umushumba wawe canke umushumbakazi wawe canke igitungwa cawe canke kavamahanga wawe ari mu marembo yawe+. 11 Kuko mu misi itandatu Yehova yakoze amajuru n’isi n’ikiyaga be n’ikintu cose kiri muri vyo+, hanyuma agatangura kuruhuka ku musi ugira indwi+. Ni co gituma Yehova yahezagiye umusi w’isabato, akawugira mweranda+.

12 “Tera iteka so na nyoko+ kugira ngo imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+.

13 “Ntukice+.

14 “Ntukarenge ibigo+.

15 “Ntukibe+.

16 “Ntugashinge intahe y’ikinyoma wagiriza mugenzawe+.

17 “Ntukipfuze inzu ya mugenzawe. Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+, canke umushumba wiwe, canke umushumbakazi wiwe, canke ishūri yiwe, canke indogobwa yiwe, canke ikintu na kimwe ca mugenzawe+.”

18 Ico gihe abantu bose bariko babona imituragaro n’ukurabagiza kw’imiravyo, n’ijwi ry’inzamba, n’umusozi ufumba umwotsi. Abantu ngo babibone, batangura kudegedwa, bahagarara nka hariya+. 19 Baca batangura kubwira Musa bati: “Ba ari wewe uvugana natwe, natwe twumvirize; mugabo Imana ntibe ari yo ivugana natwe, ntiduhave dupfa+.” 20 Musa abwira abantu ati: “Ntimutinye, kuko icatumye Imana y’ukuri iza ari ukugira ngo ibageze+, no kugira ngo ukuyitinya kugume imbere y’amaso yanyu ngo ntimucumure+.” 21 Abantu baguma bahagaze nka hariya, mugabo Musa yegera ca kigwi c’igicu cijimye aho Imana y’ukuri yari+.

22 Yehova yongera kubwira Musa+ ati: “Ibi ni vyo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli: ‘Ubwanyu mwariboneye yuko navuganye namwe ndi mu majuru+. 23 Ntimugahingure imana z’ifeza zo kumbangikanya, kandi ntimukihingurire imana z’inzahabu+. 24 Uze unkorere igicaniro c’ivu+, kandi uze ugishikanireko amashikanwa yawe aturirwa be n’ibimazi vyawe vy’ugusangira, umukuku wawe n’ubusho bwawe+. Aho nzotuma izina ryanje ryibukwa hose, nzoza kuri wewe kandi sinzobura kuguhezagira+. 25 Kandi niwankorera igicaniro c’amabuye, ntuze wubakishe amabuye abajwe. Uramutse ugikojejeko isinzo yawe, uzoba ugihumanije+. 26 Kandi ntuze uduge ingazi uja ku gicaniro canje, kugira ngo ibihimba vyawe vy’ibanga ntibije ahabona hejuru yaco.’

21 “Kandi izi ni zo ngingo z’ubutungane* ubwirizwa gushira imbere yabo+:

2 “Niwagura umushumba w’Umuheburayo+, azoba umushumba imyaka itandatu, mugabo mu wugira indwi azosohoka ari uwidegemvya, ata kirishwe+. 3 Niyaba yinjiye ari wenyene, azosohoka ari wenyene. Nimba afise umugore, umugore wiwe aze asohokane na we. 4 Nimba shebuja ari we yamuhaye umugore hanyuma akamuvyarira abahungu canke abakobwa, nya mugore n’abana biwe bazocika aba shebuja+, na we asohoke ari wenyene+. 5 Mugabo nya mushumba niyavuga ashimitse ati: ‘Ndakunda databuja vy’ukuri, umugore wanje n’abana banje; sinshaka gusohoka ndi uwidegemvya+,’ 6 shebuja aze amuzane hafi y’Imana y’ukuri, kandi aze amuzane ku muryango canke ku gishimaryango. Shebuja aze amutobore ugutwi n’umugera, abe umushumba wiwe gushika igihe kitagira urugero+.

7 “Kandi umugabo niyagurisha umukobwa wiwe ngo abe umushumbakazi+, uno ntazosohoka nk’uko abashumba b’abagabo basohoka. 8 Nimba adahimbaye mu maso ya shebuja ku buryo atamugira incoreke+ mugabo akamureka ngo acungurwe, nta burenganzira azoba afise bwo kumugurisha ku gisata kinyamahanga kandi yamuhemukiye. 9 Kandi nimba amuhaye umuhungu wiwe, akwiye kumugirira ibihuye n’uburenganzira bw’abakobwa+. 10 Niyazana uwundi mugore, ivyo kurya vyiwe, ivyambarwa vyiwe+ be n’uburenganzira bwiwe bwo mu mubano w’ababiranye+ ntibikwiye kugabanywa. 11 Natamugirira ivyo bintu bitatu, aze rero asohoke kuri gusa, ata mahera atanzwe.

12 “Uwukubise umuntu agapfa koko, ntaze abure kwicwa+. 13 Mugabo mu gihe umuntu atari yamubundiye kandi Imana y’ukuri ikareka bikaba biciye ku kuboko kwiwe+, nzogushingira rero ahantu ashobora guhungira+. 14 Kandi umuntu niyarungurira mugenziwe gushika aho amwica ku rwenge+, naho yoba ari ku gicaniro canje uze uhamukure kugira apfe+. 15 Uwukubise se na nyina ntaze abure kwicwa+.

16 “Uwunyuruje umuntu+ kandi akamugurisha koko+, canke uwo bamufatanye, ntaze abure kwicwa+.

17 “Uwuhamagariye akabi kuri se na nyina, ntaze abure kwicwa+.

18 “Abantu nibatāta, maze umwe agakubita mugenziwe ibuye canke isuka ariko ntapfe mugabo agategerezwa kuguma ku gitanda ciwe, 19 niyavyuka akagendagenda hanze yishimikije ikintu, uwamukubise rero nta gihano azohabwa. Azotanga inshumbusho gusa y’umwanya uwo muntu yatakaje wo gukora igikorwa ciwe gushika amuvuje agakira neza.

20 “Umuntu niyakubita+ inkoni umushumba wiwe canke umushumbakazi wiwe maze akamupfira mu minwe, uyo abwirizwa guhorwa ata kabuza+. 21 Ariko niyamara umusi umwe canke imisi ibiri atarapfa, ntazohorwa, kuko uyo ari uwo yaguze amahera yiwe.

22 “Abagabo nibarwana bagaca ku mugore yibungenze maze abana biwe+ bakavayo mugabo ntihabe isanganya ryica, azobwirizwa gutangishwa indishi ata kabuza hisunzwe ico nyene umugore amuciriye. Kandi ategerezwa kubitanga biciye ku bacamanza+. 23 Ariko nimba habaye isanganya ryica, utegerezwa rero gutanga ubuzima ku bundi+, 24 ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi, ikirenge ku kindi+, 25 ubushe ku bundi, igikomere ku kindi, ugukubitwa ku kundi+.

26 “Umuntu niyakubita ijisho ry’umushumba wiwe canke ijisho ry’umushumbakazi wiwe akaryonona koko, aze amurekure ari uwidegemvya bwa nshumbusho y’ijisho ryiwe+. 27 Kandi niryaba ari iryinyo ry’umushumba wiwe canke iryinyo ry’umushumbakazi wiwe ahongoye, aze amurekure ari uwidegemvya bwa nshumbusho y’iryinyo ryiwe.

28 “Ishūri niyaseka umugabo canke umugore agapfa koko, nya shūri ize iterwe amabuye+ ata kabuza, ariko inyama zayo ntizize ziribwe. Nyene iyo shūri nta gihano azohabwa. 29 Mugabo nimba ishūri yari ifise akamenyero ko gusekana kandi nyeneyo akaba yaragabishijwe ariko ntayicungere, maze ikica koko umugabo canke umugore, nya shūri ize iterwe amabuye, kandi na nyeneyo aze yicwe. 30 Niyatangishwa incungu*, aze atange ikiguzi c’icungurwa ku bw’ubuzima bwiwe hisunzwe ivyo yoba atangishijwe vyose+. 31 Yaba yasetse umuhungu canke yasetse umukobwa, aze agirirwe ibihuye n’iyo ngingo y’ubutungane+. 32 Nimba ari umushumba canke umushumbakazi iyo shūri yasetse, nyeneyo azoha shebuja w’uno ikiguzi ca shekeli mirongo itatu+, nya shūri na yo iterwe amabuye.

33 “Umuntu niyugurura icobo, canke umuntu akimba icobo hanyuma ntagipfuke, maze ishūri canke indogobwa ikakigwamwo+, 34 nyene ico cobo aze atange inshumbusho+. Ikiguzi aze akirihe nyene igitungwa, igitungwa capfuye na co kibe rwiwe. 35 Ishūri y’umuntu niyaseka ishūri y’uwundi maze ino igapfa, baze bagurishe iyo shūri nzima hanyuma bagabure ikiguzi yaguzwe; n’iyo yapfuye bakwiye kuyigabura+. 36 Canke nimba vyari bizwi ko ishūri kanaka yari ifise akamenyero ko gusekana mugabo nyeneyo ntayicungere+, abwirizwa gutanga inshumbusho+ y’ishūri ku yindi, iyo yapfuye na yo ibe rwiwe.

22 “Umuntu niyiba ishūri canke intama akayikerera canke akayigurisha, aze ashumbushe zitanu zo mu busho ku bwa nya shūri na zine zo mu mukuku ku bwa nya ntama+.

2 (“Igisuma+ nicafatwa kiriko kiramena ngo cinjire+ maze kigakubitwa kigapfa, nta kwagirwa n’amaraso kuzohaba ku bw’uyo+. 3 Nimba izuba rimurasiyeko, hazoba ukwagirwa n’amaraso ku bw’uyo.)

“Abwirizwa gutanga inshumbusho. Nimba ata co afise, aze agurishwe ku bw’ibintu yivye+. 4 Hamwe icibwe cosangwa mu minwe yiwe ata kwihenda, uhereye kw’ishūri ugashika ku ndogobwa no ku ntama, ari kizima, abwirizwa gutanga inshumbusho yiyongereyeko kabiri.

5 “Umuntu niyonesha umurima kanaka canke umurima w’imizabibu kandi akahura ibitwazi vyiwe bikayigiza uwundi murima, aze atange inshumbusho+ y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe canke y’ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe w’imizabibu.

6 “Umuriro niwarandagata ugafata amahwa, n’imiganda canke ibinyantete bihagaze canke umurima bikayigira+, uwawudometse abwirizwa gutanga inshumbusho y’ivyahiye.

7 “Umuntu niyabitsa mugenziwe amahera canke ibintu+, bikibirwa mu nzu yiwe, nya gisuma nicafatwa, kize gitange inshumbusho yiyongereyeko kabiri+. 8 Nya gisuma nikitafatwa, nyene inzu aze yigizwe hafi y’Imana y’ukuri+ kugira birabwe ko atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe. 9 Ku rubanza urwo ari rwo rwose rw’ukugabitanya+, ku vyerekeye ishūri, indogobwa, intama, impuzu, ikintu ico ari co cose cazimiye yovuga ati: ‘Ni iki nyene!’, urubanza rwabo bompi rubwirizwa kuza imbere y’Imana y’ukuri+. Uwo Imana izovuga ko ari we mubisha, abwirizwa guha mugenziwe inshumbusho yiyongereyeko kabiri+.

10 “Umuntu niyabitsa mugenziwe indogobwa, canke ishūri, canke intama, canke igitungwa ico ari co cose, maze kigapfa canke kigacika igihimba c’umubiri, canke bakagitwara ata wubona, 11 abo bompi baze barahire+ Yehova, yuko uwakibikijwe atakojeje ukuboko kwiwe ku bintu vya mugenziwe+. Kandi nyenevyo ategerezwa kuvyemera, uwo wundi na we nta nshumbusho azotanga. 12 Mugabo hamwe vyokwibirwa iwe koko, abwirizwa guha inshumbusho nyenevyo+. 13 Hamwe cotabagurwa koko n’igikoko+, abwirizwa kukizana bwa kimenyamenya+. Icatabaguwe n’igikoko ntazogitangira inshumbusho.

14 “Mugabo umuntu niyasaba igitungwa mugenziwe+, hanyuma kigacika igihimba c’umubiri canke kigapfa nyeneco atari ho ari, ategerezwa gutanga inshumbusho+. 15 Nimba nyeneco ari ho ari, ntazotanga inshumbusho. Nimba gikoteshejwe, bizoharurwa mu kiguzi cakoteshejweko.

16 “Umugabo niyaryosharyosha umwigeme w’isugi atarehejwe, akaryamana na we+, ategerezwa kumutwara akaba umugore wiwe, ku kiguzi+. 17 Nimba se arahiye akarengwa ko atamumuha, azoriha nya mahera ku kiguzi c’abigeme b’isugi+.

18 “Ntuze ureke umupfumukazi ngo abeho+.

19 “Uwo wese aryamanye n’igikoko ntaze abure kwicwa+.

20 “Uwushikaniye ikimazi izindi mana atari Yehova wenyene, abwirizwa kurandurwa+.

21 “Ntugafate nabi kavamahanga canke ngo umuhahaze+, kuko namwe mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.

22 “Ntimuze mucumukuze umupfakazi n’umwe canke impfuvyi*+. 23 Niwamucumukuza mu buryo ubwo ari bwo bwose, maze akandirira, sinzobura kwumva amaborogo yiwe+; 24 kandi ishavu ryanje rizorurumba koko+, kandi sinzogenda ntabicishije inkota, n’abagore banyu bagacika abapfakazi, abahungu banyu na bo bagacika impfuvyi+.

25 “Niwagurana amahera abantu banje, ukagurana umurushwa ari iruhande yawe+, ntuze umubere nk’uwuguranira kwunguka. Ntimuze mumwake inyungu+.

26 “Niwaramuka ufashe bwa ngwati impuzu ya mugenzawe+, ubwirizwa kuyimusubiza izuba rirenze. 27 Kuko ari yo yonyene afise yipfuka+. Ni umutamana wiwe wo gupfuka urukoba rwiwe. None azoryama mu ki? Azondirira, nanje sinzobura kumwumva, kuko ndi umunyempuhwe+.

28 “Ntugahamagarire akabi ku Mana+ canke ngo uvume umukuru wo mu bantu b’iwanyu+.

29 “Umwimbu wawe wose be n’umusesekara w’uruganiro rwawe ntukabitange ugonanwa+. Imfura mu bahungu bawe uze uyimpe+. 30 Uku ni ko uzogenza ishūri yawe n’intama yawe+: Mu misi indwi izogumana na nyina wayo+. Ku musi ugira umunani uze uyimpe.

31 “Kandi mukwiye kuba abantu beranda kuri jewe+; ntimuze murire mw’ishamba inyama y’icatabaguwe n’igikoko+. Muze mugiterere imbwa+.

23 “Ntuze utwarire hejuru inkuru y’ububeshi+. Ntugafatanye n’umubisha mu kuba icabona gitegura imigambi y’ubukazi+. 2 Ntuze ukurikire isinzi mu ntumbero mbi+; kandi mu matati, ntuze ushinge intahe ku buryo uhengamira hamwe n’isinzi, urondera kugoreka ubutungane+. 3 Nayo ku muntu mutoyi, ntuze ugire aho uhengamiye mu matati amwerekeye+.

4 “Niwarenguka kw’ishūri y’umwansi wawe canke ku ndogobwa yiwe yazimiye, utegerezwa kuyimugarurira+. 5 Niwabona indogobwa y’uwukwanka iryamye munsi y’umutwaro wayo, ntuze umurekerane. Utegerezwa kumufasha kuyibohora+.

6 “Ntukagoreke ingingo y’ubutungane y’umworo wawe mu matati yiwe+.

7 “Uraguma uzibukiriye ijambo ry’ikinyoma+. Kandi ntiwice intungane n’umugororotsi, kuko ntazokwita umubisha umugororotsi+.

8 “Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona neza kandi kigashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.

9 “Kandi ntugahahaze kavamahanga+, kuko namwe ubwanyu muzi ubuzima bwa kavamahanga ico ari co, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.

10 “Kandi mu myaka itandatu uze ubibe indimo yawe imbuto, wegeranye umwimbu wayo+. 11 Mugabo umwaka ugira indwi uze uyireke irare, uyireke iruhuke+, aboro bo mu bantu b’iwanyu baze bayiryeko. Ivyo basigaje na vyo ibikoko bizobirya+. Ukwo ni ko uzogenza umurima wawe w’imizabibu n’umurima wawe w’imyelayo.

12 “Mu misi itandatu uze ukore igikorwa cawe+; mugabo ku musi ugira indwi uze uhagarike, kugira ngo ishūri yawe n’indogobwa yawe biruhuke, n’umuhungu w’umushumbakazi wawe na kavamahanga bagarure agatege+.

13 “Kandi muze mwiyubare ku vyo nababwiye vyose+; kandi ntimugacishe mu kanwa izina ry’izindi mana. Ntirikwiye kwumvikana mu kanwa kawe+.

14 “Gatatu mu mwaka uze umpimbarize umusi mukuru+. 15 Uzogumya umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Mu misi indwi uzorya udutsima tutarimwo umwambiro+ ku gihe cashinzwe, mu kwezi kwa Abibu+, nk’uko nagutegetse, kuko muri kwo ari ho wavuye mu Misiri. Kandi ntibaze baseruke imbere yanje iminwe misa+. 16 Uze ugire n’umusi mukuru w’iyimbura ry’ivyamwa vya mbere vyeze+ bivuye mu kuya kawe, ry’ivyo wabivye mu murima+; be n’umusi mukuru w’isarura ku mpera y’umwaka, niwasarura ibivuye mu kuya kawe vyo mu murima+. 17 Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe azoseruka mu maso y’Umukama w’ukuri, Yehova+.

18 “Ntuze ushikane amaraso y’ikimazi canje kumwe n’ivyambiwe. Kandi ikinure c’umusi mukuru wanje ntigikwiye kugumaho ijoro ryose gushika mu gitondo+.

19 “Vyizavyiza mu vyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwawe, uze ubizane ku nzu ya Yehova Imana yawe+.

“Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.

20 “Ehe ndungitse umumarayika+ imbere yawe ngo akuzigame ku nzira yongere akuzane ahantu nateguye+. 21 Wiyubare kubera we kandi ugamburuke ijwi ryiwe. Ntumugararize, kuko atazobabarira ukugabitanya kwanyu+; kubera ko izina ryanje riri muri we. 22 Ariko niwagamburuka vy’ukuri ijwi ryiwe kandi ugakora ivyo nzovuga vyose+, nzokwanka urunuka abansi bawe, ntoteze abagutoteza+. 23 Kuko umumarayika wanje azokuja imbere akakuzana koko ku Bamori n’Abaheti n’Abaperizi n’Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi, kandi nzobazimanganya ata kabuza+. 24 Ntuze wunamire imana zabo canke ngo woshwe kuzikorera, kandi ntuze ukore ikintu na kimwe kimeze nk’ivyo bakoze+, ariko uze ubisenyure ata kabuza wongere umenagure inkingi nyeranda zabo+. 25 Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu+; na we ntazobura guhezagira umukate wawe n’amazi yawe+; kandi koko nzokwigiza kure indwara zive hagati muri wewe+. 26 Mu gihugu cawe ntihazoba umugore inda ikorokana canke umugore w’ingumba+. Nzotuma igitigiri c’imisi yawe kiba icuzuye+.

27 “Nzorungika ukuncikira ivutu kukwitangire imbere+, nte koko mu muvurungano abantu bose ushitsemwo, kandi nzoguha igikanu c’abansi bawe bose+. 28 Nzorungika ukujonjogora kukwitangire imbere+, kwirukane Abahiwi, Abanyakanani n’Abaheti bakuve imbere+. 29 Sinzobirukana ngo bakuve imbere mu mwaka umwe, kugira ngo igihugu ntigicike igiharabuga, n’ibikoko vy’ibinyeshamba bikagwira koko bikakugirira nabi+. 30 Nzobirukana buhorobuhoro bakuve imbere, gushika urondotse, ukigarurira koko nya gihugu+.

31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+. 32 Ntuze ugirane isezerano na bo canke imana zabo+. 33 Ntibakwiye kuba mu gihugu cawe, kugira ntibazohave batuma uncumurako. Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego+.”

24 Hanyuma abwira Musa ati: “Duga aho Yehova ari, wewe na Aroni, Nadabu na Abihu+ na mirongo irindwi+ mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli, kandi mutegerezwa kwunama muri nka hariya. 2 Musa wenyene ni we azokwegera Yehova; ariko bo ntibakwiye kwegera, kandi abantu ntibakwiye kudugana na we+.”

3 Maze Musa araza, yiganira abantu amajambo yose ya Yehova n’ingingo z’ubutungane zose+, abantu bose baca bishura n’ijwi rimwe, bati: “Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora+.” 4 Nuko Musa yandika amajambo ya Yehova yose+. Maze avyuka kare mu gitondo, yubaka ku ntango y’umusozi igicaniro be n’inkingi cumi na zibiri zihuye na ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli+. 5 Inyuma y’ivyo atuma imisore yo muri bene Isirayeli, bashikana amashikanwa aturirwa, batanga n’amashūri bwa bimazi, bwa bimazi vy’ugusangira+ bihabwa Yehova. 6 Musa araheza afata ica kabiri c’amaraso agishira mu mabakure+, ikindi ca kabiri c’amaraso akimijagira ku gicaniro+. 7 Amaherezo afata igitabu c’isezerano+, agisomera mu matwi y’abantu+. Maze bavuga bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka+.” 8 Nuko Musa afata ya maraso, ayamijagira ku bantu+, avuga ati: “Ng’aya amaraso y’isezerano+ Yehova agiranye namwe ku bijanye n’aya majambo yose.”

9 Hanyuma Musa na Aroni, Nadabu na Abihu na mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli baraduga, 10 barabona Imana ya Isirayeli+. Munsi y’ibirenge vyayo hari ikintu kimeze nk’isaso ry’amabuye ya safiro, kimeze kandi nk’amajuru ubwayo mu butyoroke+. 11 Kandi ntiyabanguriye ukuboko kwiwe abo banyacubahiro bo muri bene Isirayeli+, mugabo berekwa Imana y’ukuri+, hanyuma bararya, baranywa+.

12 Maze Yehova abwira Musa ati: “Duga aho ndi ku musozi ugumeyo, kuko ngomba kuguha ibisate vy’amabuye n’itegeko n’ibwirizwa ntegerezwa kwandika vyo kubigisha+.” 13 Nuko Musa na Yosuwa umusuku wiwe barahaguruka, hanyuma Musa aduga ku musozi w’Imana y’ukuri+. 14 Ariko yari yabwiye abagabo b’inararibonye ati: “Mwebwe nimuturindirire aha hantu gushika tugarutse aho muri+. Kandi ehe Aroni na Huru+ bari kumwe namwe. Uwo wese afise imburano, nabegere+.” 15 Nuko Musa aduga ku musozi mu gihe igicu cari kiwupfutse+.

16 Ubuninahazwa bwa Yehova+ bubandanya kuba ku musozi Sinayi+, ca gicu na co kibandanya kuwupfuka kumara imisi itandatu. Amaherezo ku musi ugira indwi, ahamagarira Musa hagati muri nya gicu+. 17 Ku maso ya bene Isirayeli, ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova bwasa, wamengo ni umuriro urigata+, kw’isonga ry’umusozi. 18 Maze Musa yinjira hagati muri nya gicu, aduga ku musozi+. Musa aguma ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+.

25 Nuko Yehova atangura kuvugana na Musa+, ati: 2 “Bwira bene Isirayeli, bantorere intererano: Muzotora intererano yanje ku muntu wese umutima wiwe usunitse+. 3 Kandi iyi ni yo ntererano mubwirizwa kubatorako: inzahabu+ n’ifeza+ n’umujumpu+, 4 n’inyuzi z’ubururu, n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama*, n’ilino nziza, n’ubwoya bw’impene+, 5 n’inshato z’impfizi z’intama zizize ibara ritukura, n’inshato z’ivyogaruzi*, n’imbaho z’umunyinya+; 6 amavuta y’igitangamuco+, n’amavuta y’umusomozo*+ yo kurobanuza+, n’ay’imibavu* imota neza+; 7 n’amabuye ya onigisi n’amabuye amadikwa yo gushira kuri efodi*+ no ku kambarwa ko ku gikiriza+. 8 Kandi bategerezwa kunyubakira aheranda, kuko ntegerezwa gucumbika hagati muri bo+. 9 Muze mwubake itaberenakulo* mwisunze ivyo ndiko ndakwereka vyose bwa citegererezo cayo n’icitegererezo c’ibikoresho vyayo vyose+.

10 “Kandi baze bakore Isandugu y’igiti c’umunyinya+, uburebure bwayo bube amatambwe* abiri n’igice, ubwaguke bwayo itambwe n’igice, amahagarara yayo na yo itambwe n’igice. 11 Uze uyihomekeko inzahabu itavanze+. Uze ubigire imbere n’inyuma, kandi uze ukore umukugirwa w’inzahabu irya n’ino kuri yo+. 12 Uze uyikorere ibigōmbo bine mu nzahabu ishongeshejwe, ubishire hejuru y’amaguru yayo ane, ibigōmbo bibiri bije ku ruhande rumwe rwayo, bindi bibiri ku rundi ruhande+. 13 Uze ukore iminiho y’igiti c’umunyinya, uyihomekeko inzahabu+. 14 Uze ucishe iyo miniho muri ivyo bigōmbo ku mpande z’Isandugu, kugira bayireruze iyo Sandugu. 15 Nya miniho ibwirizwa kuguma mu bigōmbo vy’iyo Sandugu. Ntize ikurwe kuri yo+. 16 Kandi uze ushire muri iyo Sandugu igishingantahe nzoguha+.

17 “Kandi uze ukore umurumyo w’inzahabu itavanze, w’uburebure bw’amatambwe abiri n’igice, n’ubwaguke bw’itambwe n’igice+. 18 Uze ukore abakerubi* babiri b’inzahabu. Uzobakora ubacurishije inyundo, ku mpera zompi z’umurumyo+. 19 Kandi ukore umukerubi umwe kuri iyi mpera, n’umukerubi umwe ku yindi+. Muze mukore nya bakerubi kuri nya murumyo, ku mpera zibiri zawo. 20 Nya bakerubi bategerezwa kuba bashanje amababa yabo araba hejuru, bakingīrije umurumyo amababa yabo, mu maso habo harabana+. Mu maso ha nya bakerubi hakwiye kuba haraba ku murumyo. 21 Uze ushire nya murumyo+ hejuru kw’Isandugu, kandi muri nya Sandugu uzoshirayo igishingantahe nzoguha. 22 Kandi nzoseruka imbere yawe ng’aho, mvuganire nawe hejuru y’umurumyo+, hagati ya ba bakerubi babiri bari kw’isandugu y’igishingantahe, eka ivyo nzogutegeka vyose ku bwa bene Isirayeli+.

23 “Kandi uze ukore imeza+ y’igiti c’umunyinya, y’uburebure bw’amatambwe abiri, n’ubwaguke bw’itambwe, n’amahagarara y’itambwe n’igice. 24 Uze uyihomekeko inzahabu itavanze, uyikorere n’umukugirwa w’inzahabu uyikikuje+. 25 Uze uyikorere agakikuzo irya n’ino k’ubwaguke bw’ikiganza, kandi nya gakikuzo kayo uze ugakorere umukugirwa w’inzahabu ugakikuje+. 26 Uze uyikorere n’ibigōmbo bine vy’inzahabu, hanyuma ubishire ku mfuruka zine za ya maguru ane+. 27 Nya bigōmbo bikwiye kuba vyegereye ka gakikuzo, kugira bifate iminiho yo kurerura iyo meza+. 28 Nya miniho uze uyikore mu giti c’umunyinya, uyihomekeko inzahabu, kandi ni yo bazoreruza nya meza+.

29 “Kandi uze ukore amasahani yayo n’ibikombe vyayo n’amakarabo yayo n’ibibakure vyayo, ari vyo bazosukisha ibinyobwa vy’ishikanwa. Uze ubikore mu nzahabu itavanze+. 30 Kuri nya meza, uze wame ushira imbere yanje imikate yerekanwa*+.

31 “Kandi uze ukore igitereko c’amatara mu nzahabu itavanze. Kize gikorwe gicurishijwe inyundo+. Intebe yaco, amashami yaco, ibikombe vyaco, amapfundo yaco n’amashurwe yaco bibe ibiva muri co. 32 Amashami atandatu ava mu mpande zaco: amashami atatu yaco ava mu ruhande rumwe rwaco, yandi atatu akava mu rundi ruhande rwaco+. 33 Ku mugwi umwe w’amashami hari ibikombe bitatu vy’imero y’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa. Ku wundi mugwi w’amashami hari ibikombe bitatu vy’imero y’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa+. Ukwo ni ko biri ku mashami atandatu ava muri nya gitereko c’amatara. 34 Kuri nya gitereko c’amatara hari ibikombe bine vy’imero y’amashurwe ya shakedi, amapfundo yaco n’amashurwe yaco bigakurakuranwa+. 35 Ipfundo ryo munsi y’amashami abiri riva muri co, n’ipfundo ryo munsi y’ayandi mashami abiri rikava muri co, n’ipfundo ryo munsi y’amashami abiri yandi rikava muri co. Ni ko biri ku mashami atandatu ava muri nya gitereko c’amatara+. 36 Amapfundo yavyo n’amashami yavyo bize bibe ibiva muri co. Cose uko kingana ni ikintu kimwe gicurishijwe inyundo, c’inzahabu itavanze+. 37 Uze ugikorere amatara indwi; kandi nya matara aze yatswe, yakire ikibanza kiri imbere yaco+. 38 Udupensi twaco n’ibijamwo umuriro vyaco ni ivy’inzahabu itavanze+. 39 Aze agikore mw’italanto y’inzahabu itavanze, n’ivyo bikoresho vyaco vyose. 40 Kandi urabe neza ubikore wisunze icitegererezo cavyo weretswe ku musozi+.

26 “Kandi nya taberenakulo uze uyikore mu bitambara cumi vy’ihema+, vy’ilino nziza ihinzwe be n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’agahama n’igitambara c’ibara ry’agahama+. Uzobikora bideshweko abakerubi+ badeshwe n’umudeshi. 2 Uburebure bw’igitambara c’ihema kimwe cose ni amatambwe mirongo ibiri n’umunani, ubwaguke na bwo amatambwe ane. Ingero ni imwe ku bitambara vyose+. 3 Ibitambara bitanu bize bikurikirane kimwe gifatanijwe ku kindi, bindi bitanu bikurikirane kimwe gifatanijwe ku kindi+. 4 Kandi uze ukore utugōmbo mu nyuzi z’ubururu ku mubari w’igitambara kimwe co ku mpera ya nya rukurikirane. Uze ugire kuno nyene ku mubari w’igitambara gihereza ku rindi huriro+. 5 Uzokora utugōmbo mirongo itanu ku gitambara kimwe, ukore n’utundi mirongo itanu ku mpera y’igitambara kiri ku rindi huriro, nya tugōmbo turabane+. 6 Kandi uze ukore ingobe mirongo itanu z’inzahabu, ufatanye nya bitambara kimwe ku kindi ukoresheje nya ngobe, kandi ize icike itaberenakulo imwe+.

7 “Kandi uze ukore ibitambara mu bwoya bw’impene+, vy’ihema ryo hejuru kw’itaberenakulo. Uzokora ibitambara cumi na kimwe. 8 Uburebure bw’igitambara kimwe cose ni amatambwe+ mirongo itatu, ubwaguke na bwo amatambwe ane. Ingero ni imwe kuri ivyo bitambara cumi na kimwe. 9 Uze ufatanye ibitambara bitanu ukwavyo, n’ibitambara bitandatu ukwavyo+, kandi uze uzingemwo kubiri igitambara kigira gatandatu ku ruhande rw’imbere rw’ihema. 10 Uze ukore utugōmbo mirongo itanu ku mubari w’igitambara kimwe, igihereza mu rukurikirane, n’utundi mirongo itanu ku mubari w’igitambara co ku rindi huriro. 11 Uze ukore ingobe mirongo itanu z’umujumpu+ uzishire muri twa tugōmbo, uheze ufatanirize hamwe iryo hema; rize ricike rimwe+. 12 Ikirenzeko kuri nya bitambara na co, kize cenene. Ica kabiri c’igitambara kirenzeko kize cenenere ku ruhande rw’inyuma rw’itaberenakulo. 13 Itambwe rirengako hino ku burebure bwa nya bitambara n’irirengako hirya, rizoba iryenenera ku mpande z’iyo taberenakulo, kugira riyipfuke ku ruhande rwo hino no ku rwo hirya.

14 “Kandi hejuru uze ukorere nya hema igipfukisho c’inshato z’impfizi z’intama zizize ibara ritukura, n’igipfukisho c’inshato z’ivyogaruzi.

15 “Kandi uze ukorere iyo taberenakulo ibizingiti+ mu giti c’umunyinya, vyo guhagarara ku mpera. 16 Uburebure bw’ikizingiti ni amatambwe cumi, ubwaguke bw’ikizingiti kimwe cose na bwo itambwe n’igice. 17 Ikizingiti kimwe cose gifise udutwe tubiri dufatanijwe kamwe ku kandi. Ukwo ni ko uzogira ku bizingiti vyose vy’iyo taberenakulo. 18 Uze ukorere iyo taberenakulo ibizingiti: ibizingiti mirongo ibiri vy’uruhande ruraba i Negebu, amaja mu bumanuko.

19 “Uzokora ivyicaro binogoye+ mirongo ine vy’ifeza munsi y’ivyo bizingiti mirongo ibiri; ivyicaro binogoye bibiri munsi y’ikizingiti kimwe be n’udutwe twaco tubiri, n’ivyicaro binogoye bibiri munsi y’ikindi kizingiti be n’udutwe twaco tubiri. 20 Kandi urundi ruhande rw’itaberenakulo, urwo mu buraruko, uzorukorera ibizingiti mirongo ibiri+, 21 n’ivyicaro binogoye vyavyo mirongo ine vy’ifeza: bibiri munsi y’ikizingiti kimwe, na bibiri munsi y’ikindi kizingiti+. 22 Ibihimba vy’inyuma vy’iyo taberenakulo amaja mu burengero, uzobikorera ibizingiti bitandatu+. 23 Kandi uze ukore ibizingiti bibiri, bibe ibikingi vy’imfuruka z’itaberenakulo+ ku bihimba bibiri vyayo vy’inyuma. 24 Bikwiye kuba ari bibiribibiri amaja hasi, kandi biri kumwe bikwiye kuba ari bibiribibiri gushika hejuru kw’isonga rya kimwe cose, ku kigōmbo ca mbere. Ni ko bikwiye kuba kuri ivyo bibiri. Bizoba ibikingi vy’imfuruka bibiri. 25 Haze habe ibizingiti umunani n’ivyicaro binogoye vyavyo vy’ifeza: ivyicaro cumi na bitandatu, ivyicaro binogoye bibiri munsi y’ikizingiti kimwe, na bindi bibiri munsi y’ikindi kizingiti.

26 “Kandi uze ukore ibihindizo mu giti c’umunyinya+, bitanu vy’ibizingiti vyo ku ruhande rumwe rw’itaberenakulo, 27 n’ibihindizo bitanu vy’ibizingiti vyo ku rundi ruhande rw’itaberenakulo, n’ibihindizo bitanu vy’ibizingiti vyo ku ruhande rw’itaberenakulo ku bwa vya bihimba bibiri vy’inyuma, amaja mu burengero+. 28 Igihindizo co hagati, igica hagati na hagati ya nya bizingiti, kive ku mpera gishike ku yindi.

29 “Kandi ivyo bizingiti uzobihomekako inzahabu+, ibigōmbo vyavyo na vyo uze ubikore mu nzahabu bibe ibifata nya bihindizo. Nya bihindizo uze ubihomekeko inzahabu. 30 Kandi uze ushinge nya taberenakulo wisunze umugero wayo weretswe ku musozi+.

31 “Kandi uze ukore irido+ mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe. Azoyikora ideshweko abakerubi+ badeshwe n’umudeshi. 32 Uze uyishire ku nkingi zine z’umunyinya zihometseko inzahabu. Utumambo twazo ni utw’inzahabu. Ziri ku vyicaro binogoye vy’ifeza bine. 33 Uze ushire iyo rido munsi ya za ngobe, uheze uzane ya sandugu y’igishingantahe+ imbere muri nya rido. Nya rido ize ibabere urugabano hagati y’Aheranda*+ n’Aheranda Rwose*+. 34 Uze ushire wa murumyo kuri iyo sandugu y’igishingantahe Aheranda Rwose.

35 “Kandi uze ushire ya meza hanze ya nya rido, ca gitereko c’amatara+ na co kirabane n’imeza ku ruhande rw’iyo taberenakulo amaja mu bumanuko. Iyo meza uzoyishira ku ruhande rwo mu buraruko. 36 Kandi uze ukore igikingirizo+ c’ubwinjiriro bw’ihema mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe, bikorwe n’umujishi. 37 Uze ukorere ico gikingirizo inkingi zitanu z’umunyinya, uzihomekeko inzahabu. Utumambo twazo ni utw’inzahabu. Uze ubikorere ivyicaro binogoye bitanu vy’umujumpu ushongeshejwe.

27 “Kandi uze ukore mu giti c’umunyinya igicaniro c’uburebure bw’amatambwe atanu, n’ubwaguke bw’amatambwe atanu. Ico gicaniro+ kize kibe ikwadarato, amahagarara yaco na yo abe amatambwe atatu. 2 Uze ukore amahembe yaco+ ku mfuruka zaco zine. Amahembe yaco azoba ava muri co, kandi uze ugihomekeko umujumpu+. 3 Kandi uze ugikorere ibigopo vyo gukuraho iminyota yaco irimwo ibinure, ugikorere n’ibiyozo, n’ibibakure, n’amakanya, n’ibijamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose uzobikora mu mujumpu+. 4 Uze ugikorere akayungiro, kabe urusenga+ rw’umujumpu; kandi uze ukore kuri urwo rusenga ibigōmbo bine vy’umujumpu ku mpera zarwo zine. 5 Uze ugashire munsi y’agakikuzo k’igicaniro amaja hasi imbere muri co, nya rusenga ruze rube amaja hagati mu gicaniro+. 6 Kandi uze ukore iminiho y’ico gicaniro, ibe iy’igiti c’umunyinya, uyihomekeko umujumpu+. 7 Iminiho yaco ize yinjizwe mu bigōmbo, kandi ize ibe ku mpande zibiri z’igicaniro igihe kirerurwa+. 8 Uzokigira isandugu irangaye y’imbaho. Nk’uko nyene yabikweretse ku musozi, ni ko bazogikora+.

9 “Kandi uze ukore ikigo+ c’itaberenakulo. Ku ruhande rw’amaja i Negebu, amaja mu bumanuko, ico kigo kigire ibitambara bimanitse vy’ilino nziza ihinzwe+, uruhande rumwe rugire uburebure bw’amatambwe ijana. 10 Inkingi zaco mirongo ibiri n’ivyicaro binogoye vyazo mirongo ibiri ni ivy’umujumpu. Utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo ni ivy’ifeza+. 11 Ni ko bimeze no ku ruhande rwo mu buraruko, mu burebure: ibitambara bimanitse bigire uburebure bw’amatambwe ijana, inkingi mirongo ibiri zaco na zo n’ivyicaro binogoye vyazo mirongo ibiri bibe ivy’umujumpu, utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo bibe ivy’ifeza+. 12 Nayo ubwaguke bw’ico kigo, ku ruhande rwo mu burengero ibitambara bimanitse birehe n’amatambwe mirongo itanu, inkingi zavyo zibe cumi, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe cumi+. 13 Ubwaguke bwa nya kigo ku ruhande rwo mu buseruko, amaja i burasirazuba, ni amatambwe mirongo itanu+. 14 Ku ruhande rumwe habe amatambwe cumi n’atanu y’ibitambara bimanitse, inkingi zavyo zibe zitatu, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bitatu+. 15 Ku rundi ruhande habe amatambwe cumi n’atanu y’ibitambara bimanitse, inkingi zavyo zibe zitatu, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bitatu+.

16 “Kandi irembo ry’ikigo rigire igikingirizo c’uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, c’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe; bikorwe n’umujishi+. Inkingi zavyo zizoba zine, n’ivyicaro binogoye vyazo bibe bine+. 17 Irya n’ino, inkingi zose za nya kigo zizogira ibifatisho vy’ifeza, utumambo twazo tube utw’ifeza, mugabo ivyicaro binogoye vyazo ni ivy’umujumpu+. 18 Uburebure bw’ico kigo ni amatambwe ijana+, ubwaguke na bwo amatambwe mirongo itanu, amahagarara na yo amatambwe atanu. Ibitambara bimanitse vyaco ni ivy’ilino nziza ihinzwe, ivyicaro binogoye vyazo na vyo bikaba ivy’umujumpu. 19 Ibikoresho vyose vy’iyo taberenakulo mu gikorwa cayo cose, n’imambo zayo zose, n’imambo zose z’ikigo, ni ivy’umujumpu+.

20 “Nayo wewe, uze utegeke bene Isirayeli bakuronse amavuta y’umwelayo atyoroye, asekuye, y’igitangamuco, kugira ngo amatara yatswe nantaryo+. 21 Mw’ihema ry’ihuriro, hanze y’irido+ iri iruhande ya ca Gishingantahe, Aroni n’abahungu biwe bazotunganya nya gitangamuco kuva ku mugoroba gushika mu gitondo imbere ya Yehova+. Ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero ku mayaruka yabo+, co gushitswa na bene Isirayeli+.

28 “Nayo wewe, niwigize hafi yawe Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, ubakuye hagati muri bene Isirayeli, kugira ankorere bwa muherezi+: Aroni+ n’abahungu biwe, ari bo Nadabu na Abihu+, Eleyazari na Itamari+. 2 Kandi uze ukorere impuzu nyeranda Aroni mwene wanyu, ku bw’ubuninahazwa n’ubwiza+. 3 Kandi wewe ubwawe ubwire abantu bose b’inkerebutsi bafise umutima nujuje impwemu y’ubukerebutsi+, bakore impuzu za Aroni ku bwo kumweza, kugira ankorere bwa muherezi+.

4 “Kandi izi ni zo mpuzu bazokora: akambarwa ko ku gikiriza+, na efodi+, n’umwitero utagira amaboko+, n’ikanzu y’udukarokaro*, n’igitambara co mu mutwe+, n’igikenyezo+. Baze bakorere nya mpuzu nyeranda Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe, ngo ankorere bwa muherezi. 5 Kandi bo ubwabo, bazotora inzahabu n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama, n’ilino nziza.

6 “Kandi baze bakore efodi y’inzahabu, y’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe, ibe iyideshwe n’umudeshi+. 7 Ize igire udutambara tubiri two ku rutugu dufatanirizwa ku mpera zayo zibiri, ifatanywe+. 8 Kandi umukanda+, uwuri kuri yo wo kuyitubika, nk’uko ubuhinga bwayo buri, ukwiye kuba ukozwe mu vyo ikozwemwo: mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe.

9 “Kandi uze utore amabuye abiri ya onigisi+ uheze usarure+ kuri yo amazina ya bene Isirayeli+, 10 atandatu mu mazina yabo kw’ibuye rimwe, amazina ya batandatu basigaye na yo ku rindi buye, uko bakurikirana mu mavuka+. 11 Uze usarure kuri ayo mabuye abiri amazina ya bene Isirayeli+, bikorwe n’umuhinguzi w’utugenegene mu vy’amabuye, bibe nk’udusaruro tw’ikidodo. Uze uyarumike mu twicariro tw’inzahabu+. 12 Uze ushire ayo mabuye abiri kuri twa dutambara two ku rutugu twa efodi abere bene Isirayeli amabuye y’icibutso+. Aroni na we aze yambare amazina yabo imbere ya Yehova ku dutambara twiwe tubiri two ku rutugu, bwa cibutso. 13 Kandi uze ukore utwicariro tw’inzahabu, 14 n’iminyororo ibiri y’inzahabu itavanze+. Uzoyikora nk’imihingo, ihingurwe nk’umugozi; kandi iyo minyororo imeze nk’imigozi uze uyifatishe kuri nya twicariro+.

15 “Kandi uze ukore akambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza+, gahingurwe n’umudeshi. Uze ugakore gahinguwe nka efodi. Uzogakora mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe+. 16 Gategerezwa kuba ikwadarato iyo kazinzemwo kubiri, uburebure bwako bukaba itambwe ry’intoke, n’ubwaguke bwako itambwe ry’intoke+. 17 Kandi uze ugatakeko udutāko tw’amabuye, habe imisitari ine y’amabuye+. Umusitari wa mbere ni uw’ibuye ry’umutuku+, irya topazi+ n’irya emerode+. 18 Umusitari ugira kabiri na wo ni uw’ibuye rya turukwazi+, irya safiro+ n’irya yasipi+. 19 Umusitari ugira gatatu na wo ni uw’ibuye rya leshemu, irya agata+ n’irya ametisito+. 20 Umusitari ugira kane na wo ni uw’ibuye rya kirisolito+ na onigisi+ na yade. Mu tunogo ajamwo haze hashirwemwo udutereko tw’inzahabu+. 21 Kandi nya mabuye akwiye kuba ahwanye n’amazina ya bene Isirayeli, bamwe cumi na babiri, nk’uko amazina yabo ari+. Akwiye kuba asaruwe nk’udusaruro tw’ikidodo, rimwe ryose rihure n’izina ryaryo, kuri ya miryango cumi n’ibiri+.

22 “Kandi uze ukore kuri nya kambarwa ko ku gikiriza iminyororo itsivye, ikozwe bwa mugozi, mu nzahabu itavanze+. 23 Kandi uze ukore kuri nya kambarwa ko ku gikiriza ibigōmbo bibiri vy’inzahabu+, ubishire ku mpera zibiri zako. 24 Uze ucishe ya migozi ibiri y’inzahabu muri ivyo bigōmbo bibiri ku mpera z’ako kambarwa+. 25 Uzocisha impera zibiri za ya migozi ibiri muri twa twicariro tubiri, kandi uze udushire kuri twa dutambara two ku rutugu twa efodi, ku ruhande rwayo rw’imbere+. 26 Uze ukore ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, ubishire ku mpera zibiri za ka kambarwa ko ku gikiriza, ku mubari wako uri ku ruhande ruhererana na efodi amaja munsi+. 27 Uze ukore ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, ubishire kuri twa dutambara tubiri two ku rutugu twa efodi uvuye hepfo, ku ruhande rwayo rw’imbere, hafi y’aho ifatanirizwa, hejuru y’umukanda wa efodi+. 28 Kandi nya kambarwa ko ku gikiriza bazokabohere ku bigōmbo vya efodi n’akagozi k’ubururu, bacishije ku bigōmbo vyako, kugira kagume hejuru ya wa mukanda wa efodi kandi ntikave hejuru ya efodi+.

29 “Kandi Aroni aze yambare amazina ya bene Isirayeli kuri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, hejuru ku mutima wiwe igihe yinjiye Aheranda, kibe icibutso imbere ya Yehova nantaryo. 30 Kandi uze ushire Urimu+ na Tumimu* muri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, bize bibe hejuru ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova; Aroni aze yambare nantaryo imanza+ za bene Isirayeli hejuru y’umutima wiwe imbere ya Yehova.

31 “Kandi uze ukore wa mwitero utagira amaboko wa efodi, wose mu nyuzi z’ubururu+. 32 Ku mutwe hawo, hagati na hagati, haze habe izosi. Izosi ryawo rikwiye kugira umusozo urikikuje, ube uwujishwe n’umujishi w’impuzu. Rikwiye kuba nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma, kugira ntiritabuke+. 33 Kandi ku mubuga wayo, uze ukore amakomamanga mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama, akikuze umubuga wayo, ukikuzwe kandi n’udukengeri+ tw’inzahabu tuyarobetse; 34 agakengeri k’inzahabu be n’ikomamanga, agakengeri k’inzahabu be n’ikomamanga, ku mubuga wa nya mwitero utagira amaboko, biwukikuze+. 35 Uwo mwitero uze ube kuri Aroni kugira ankorere, kandi ijwi rya nya dukengeri rivuye kuri we rize ryumvikane igihe yinjiye aheranda imbere ya Yehova n’igihe asohotse, kugira ntapfe+.

36 “Kandi uze ukore akabate gaca ibibatsi k’inzahabu itavanze uheze ugasarureko udusaruro nk’utw’ikidodo ngo: ‘Ubweranda ni ubwa Yehova+.’ 37 Uze ukaboheshe akagozi k’ubururu, kandi kaze kabe kuri ca gitambara co mu mutwe+. Ku ruhande rw’imbere rwa nya gitambara ni ho gakwiye kuba. 38 Kaze kabe ku ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni ategerezwa kwishura ikosa rikozwe ku bintu vyeranda+, ivyo bene Isirayeli bazokweza, ni vyo ngabirano nyeranda zabo zose. Kaze kame ku ruhanga rwiwe, kugira atume bashimwa+ imbere ya Yehova.

39 “Kandi uze ujishe ikanzu y’udukarokaro mw’ilino nziza+, ukore n’igitambara co mu mutwe c’ilino nziza. Uzokora n’igikenyezo+, kijishwe n’umujishi.

40 “Bene Aroni uzobakorera amakanzu+, kandi uze ubakorere ibikenyezo, ubakorere n’utwambarwa two mu mutwe+ ku bw’ubuninahazwa n’ubwiza+. 41 Ni vyo uzokwambika Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, kandi uze ubarobanuze amavuta*+ wongere wuzuze ukuboko kwabo ububasha+ kandi ubeze, baze bankorere bwa baherezi. 42 Kandi ubakorere amabutura y’ilino yo gupfuka umubiri uri gusa+. Azova mu mafyinga ashike ku matako. 43 Aroni n’abahungu biwe bazobe bayambaye iyo bagiye mw’ihema ry’ihuriro canke iyo bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere ahantu heranda, kugira ntibagirwe n’ikosa bigatuma bapfa ata kabuza. Ico ni icagezwe gushika igihe kitagira urugero kuri we n’uruvyaro rwiwe rwo mu nyuma ziwe+.

29 “Kandi iki ni co ubwirizwa kubagirira kugira ubeze ngo bankorere bwa baherezi: Utore ikimasa, n’impfizi zibiri z’intama+ bitagira agahonzi+, 2 n’umukate utarimwo umwambiro, n’udutsima tumeze nk’ikigōmbo tutarimwo umwambiro tubombekeshejwe amavuta, n’udukate tutarimwo umwambiro dusizwe amavuta+. Uzobikora mw’ifu y’ingano inoze. 3 Kandi uze ubishire mu gisimbo uheze ubishikirize biri muri ico gisimbo+, na ya shūri na za mpfizi zibiri z’intama nyene.

4 “Uzozana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro+ bw’ihema ry’ihuriro, uheze uboze n’amazi+. 5 Maze uze utore za mpuzu+ hanyuma wambike Aroni ya kanzu na wa mwitero utagira amaboko wa efodi, na ya efodi na ka kambarwa ko ku gikiriza, kandi uze uyitubike kuri we ukoresheje wa mukanda wa efodi+. 6 Uze ushire ku mutwe wiwe ca gitambara co mu mutwe hanyuma ushire kuri ico gitambara ca kimenyetso ceranda c’iyegurwa+. 7 Uze utore amavuta yo kurobanuza+, uyasuke ku mutwe wiwe, umurobanure+.

8 “Maze uzozana abahungu biwe hafi, uheze ubambike ya makanzu+. 9 Uze ukenyeze Aroni n’abahungu biwe vya bikenyezo, wongere uzingire kuri bo ka kambarwa ko mu mutwe. Ubuherezi buze bucike ubwabo, bibe icagezwe gushika igihe kitagira urugero+. Ukwo ni ko uzokwuzuza ububasha ukuboko kwa Aroni n’ukw’abahungu biwe+.

10 “Uze uzane ya shūri imbere y’ihema ry’ihuriro, hanyuma Aroni n’abahungu biwe barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 11 Uze ukererere iyo shūri imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. 12 Kandi uze utore makeyi ku maraso+ y’iyo shūri uyashire n’urutoke rwawe ku mahembe y’igicaniro+, amaraso yose asigaye na yo uyasese ku ntaba y’igicaniro+. 13 Kandi uze utore ikinure cose+ gipfutse amara+, na ka gahimba ko ku gitigu+, na ya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, uheze ubifumbishe umwotsi ku gicaniro+. 14 Mugabo inyama za nya shūri n’urushato rwayo n’amayezi yayo, uzobiturira n’umuriro hanze y’ikambi+. Ni ishikanwa ry’igicumuro.

15 “Maze uzotora impfizi y’intama imwe+, Aroni n’abahungu biwe na bo baze barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 16 Uze ukerere iyo mpfizi y’intama hanyuma utore amaraso yayo uyamijagire hirya no hino ku gicaniro+. 17 Uzohimbagura iyo mpfizi y’intama mu bipande vyayo, woze amara yayo+ n’amaguru* yayo hanyuma upange ibipande vyayo kimwe kirabana n’ikindi gushika ku mutwe wayo. 18 Kandi uze ufumbishe umwotsi nya mpfizi y’intama yose ku gicaniro. Ni ishikanwa riturirwa+ rihabwa Yehova, akamoto karuhura+. Ni ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova.

19 “Ubukurikira uze utore ya mpfizi yindi y’intama, Aroni n’abahungu biwe na bo barambike ibiganza ku mutwe wayo+. 20 Uze ukerere iyo mpfizi y’intama, utore makeyi ku maraso yayo uyashire kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kwa Aroni, no kw’ibabi ry’ugutwi kw’iburyo kw’abahungu biwe, no ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’ukuryo, no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo+, kandi uze umijagire nya maraso irya n’ino ku gicaniro. 21 Kandi uze utore makeyi ku maraso ari ku gicaniro na makeyi kuri ya mavuta y’ukurobanuza+, uyacucagire Aroni n’impuzu ziwe n’abahungu biwe n’impuzu z’abahungu biwe bari kumwe na we, kugira ngo we n’impuzu ziwe n’abahungu biwe n’impuzu z’abahungu biwe bari kumwe na we bibe vyeranda koko+.

22 “Kandi uze utore kuri ya mpfizi y’intama ikinure be na kirya gitsembe kinuze+, na kirya kinure gipfutse amara, na ka gahimba ko ku gitigu, n’arya mafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, n’ukuguru kw’ukuryo+, kuko ari impfizi y’intama y’iyatira+. 23 Uze utore n’akamanyu k’umukate k’umuzingi n’agatsima kameze nk’ikigōmbo k’umukate w’amavuta, be n’agakate kavuye muri ca gisimbo c’udutsima tutarimwo umwambiro kiri imbere ya Yehova+. 24 Kandi vyose uze ubishire ku biganza vya Aroni no ku biganza vy’abahungu biwe+, ubizungagize irya n’ino bwa shikanwa rizungagizwa* imbere ya Yehova+. 25 Hanyuma uze ubikure mu minwe yabo, ubifumbishe umwotsi ku gicaniro kuri rya shikanwa riturirwa, bibe akamoto karuhura imbere ya Yehova+. Ni ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+.

26 “Kandi uze utore inkoro y’iyo mpfizi y’intama y’iyatira+, yo ku bwa Aroni, uyizungagize bwa shikanwa rizungagizwa irya n’ino imbere ya Yehova, kandi ize icike umugabane wawe. 27 Uze weze iyo nkoro+ y’ishikanwa rizungagizwa be n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagizwa kandi ugatangwa bwa ntererano uvuye kuri ya mpfizi y’intama y’iyatira+, ku vyari ivya Aroni no ku vyari ivy’abahungu biwe. 28 Kandi ize icike iya Aroni n’iy’abahungu biwe biciye ku ngingo nyobozi yo gushika igihe kitagira urugero ishitswa na bene Isirayeli, kuko ari umugabane mweranda+. Kandi izocika umugabane mweranda utangwa na bene Isirayeli. Izova ku bimazi vyabo vy’ugusangira+, ibe umugabane wabo mweranda ku bwa Yehova.

29 “Kandi za mpuzu nyeranda+ za Aroni zizokoreshwa n’abahungu biwe+ mu nyuma ziwe kugira barobanuzwe amavuta+ bari muri zo, no kugira ngo ukuboko kwabo kwuzuzwe ububasha bari muri zo+. 30 Umuherezi amusubiriye wo mu bahungu biwe kandi yinjiye mw’ihema ry’ihuriro gukora igikorwa c’ubusuku ha hantu heranda, azozambara imisi indwi+.

31 “Kandi uzotora ya mpfizi y’intama y’iyatira, utekere inyama zayo ahantu heranda+. 32 Aroni n’abahungu biwe baze barire+ inyama z’iyo mpfizi y’intama na wa mukate uri muri ca gisimbo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro. 33 Baze barye ivyakoreshejwe mu gutanga impongano ngo ukuboko kwabo kwuzuzwe ububasha, kugira bezwe+. Mugabo uw’ahandi* ntiyoshobora kubirya, kuko ari ikintu ceranda+. 34 Kandi nihagira igisigara ku nyama z’ikimazi c’iyatira no kuri wa mukate gushika mu gitondo, uze ugiturire n’umuriro+. Ntikize kiribwe, kuko ari ikintu ceranda.

35 “Kandi uku ni ko utegerezwa kugirira Aroni n’abahungu biwe wisunze ivyo nagutegetse vyose+: Uzofata imisi indwi kugira wuzuze ukuboko kwabo ububasha+. 36 Uzoshikana ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi ngo ibe impongano+, kandi uze utyorore igicaniro igicumuro mu kugitangira impongano, wongere ukirobanuze amavuta+ kugira cezwe. 37 Uzofata imisi indwi yo gutangira impongano igicaniro, kandi uze uceze+ gicike koko igicaniro ceranda rwose+. Uwugikorako wese abwirizwa kuba mweranda+.

38 “Kandi ibi ni vyo uzoshikana kuri ico gicaniro: impfizi z’intama zikiri nto, imwe yose imaze umwaka, wame ushikana zibiri ku musi+. 39 Uzoshikana impfizi y’intama ikiri nto imwe mu gitondo+, iyindi mpfizi y’intama ikiri nto na yo uyishikane hagati ya ya migoroba ibiri+. 40 Kuri ya mpfizi y’intama ikiri nto ya mbere, hazozanwa ic’icumi c’ingero ya efa y’ifu inoze+ ibombekeshejwe ica kane ca hini* y’amavuta asekuye, n’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ry’ica kane ca hini y’umuvinyu. 41 Kandi uzoshikana ya mpfizi y’intama ikiri nto ya kabiri hagati ya ya migoroba ibiri. Uzoyishikana iri kumwe n’ishikanwa ry’intete+ rimeze nka rimwe ryo mu gitondo be n’ishikanwa ry’ikinyobwa rimeze nk’iryaryo, bibe akamoto karuhura, ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova. 42 Ni ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba+ mu mayaruka yanyu yose, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro imbere ya Yehova, aho nzoseruka imbere yanyu ngo mvuganire nawe ng’aho+.

43 “Nzoseruka ng’aho, imbere ya bene Isirayeli, kandi ata gukeka hazokwezwa n’ubuninahazwa bwanje+. 44 Kandi nzokweza ihema ry’ihuriro na nya gicaniro; kandi nzokweza+ Aroni n’abahungu biwe kugira bankorere bwa baherezi. 45 Nzocumbika hagati ya bene Isirayeli, mbe Imana yabo+. 46 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yabo, uwabakuye mu gihugu ca Misiri ngo ncumbike hagati yabo+. Ndi Yehova Imana yabo+.

30 “Kandi uze ukore igicaniro kibe ahantu ho guturirira imibavu+. Uze ugikore mu giti c’umunyinya. 2 Mu burebure ni itambwe*, mu bwaguke itambwe, kibe ikwadarato, amahagarara yaco na yo abe amatambwe abiri. Amahembe yaco asokoroka ava muri co+. 3 Uze ugihomekeko inzahabu itavanze, ku buringanire bwaco bwo hejuru no ku mpande zaco irya n’ino no ku mahembe yaco. Uze ugikorere umukugirwa w’inzahabu ugikikuje+. 4 Uzogikorera kandi ibigōmbo bibiri vy’inzahabu. Uzobikora bije munsi y’umukugirwa waco kuri zibiri muri za mpande zaco, ku mpande zaco zibiri zirabana, kuko bizoba ivyo gufata iminiho yo kukireruza+. 5 Kandi uze ukore iyo miniho mu giti c’umunyinya, uyihomekeko inzahabu+. 6 Kandi uze ugishire imbere ya ya rido iri hafi ya ya sandugu y’igishingantahe+, imbere y’umurumyo uri hejuru ya ca Gishingantahe, aho nzoseruka imbere yawe+.

7 “Aroni aze agifumbishirizeko umwotsi+ imibavu imota neza+. Buri gitondo, igihe atunganya ya matara+, azoyifumbisha umwotsi. 8 Kandi igihe Aroni azokwatsa nya matara hagati ya ya migoroba ibiri, azoyifumbisha umwotsi. Ni imibavu ishikanwa nantaryo imbere ya Yehova mu mayaruka yanyu. 9 Ntimuze mushikane kuri co imibavu itemewe n’amategeko+, canke ishikanwa riturirwa, canke ishikanwa ry’intete. Kandi ntimuze musuke kuri co ishikanwa ry’ikinyobwa. 10 Kandi Aroni aze atangire impongano ku mahembe yaco rimwe mu mwaka+. Akoresheje makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro+ ry’impongano, azogitangira impongano rimwe mu mwaka mu mayaruka yanyu. Ni ceranda rwose kuri Yehova.”

11 Yehova abandanya kubarira Musa ati: 12 “Igihe uharura igitigiri cose hamwe ca bene Isirayeli ugize rusansuma rwabo+, umwe wese muri bo aze ahe Yehova incungu ku bw’ubuzima bwiwe igihe basansumwa+, ngo ntihagire icago kibazako igihe basansumwa+. 13 Ibi ni vyo abarengana baja mu baharuwe bose bazotanga: ica kabiri ca shekeli hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+. Ingero mirongo ibiri za gera* zingana na shekeli. Ica kabiri ca shekeli ni yo ntererano ihabwa Yehova+. 14 Umuntu wese arengana aja mu banditswe, kuva ku myaka mirongo ibiri no kuduga, azotanga intererano ya Yehova+. 15 Umutunzi ntakwiye gutanga ibirenze, kandi n’umuntu mutoyi ntaze atange ibiri munsi y’ico ca kabiri ca shekeli+, kugira hatangwe intererano ya Yehova kugira ngo mutangirwe impongano+. 16 Kandi uze utore amafeza y’impongano avuye kuri bene Isirayeli uyatange ku bw’igikorwa c’ihema ry’ihuriro+, ngo abere bene Isirayeli icibutso imbere ya Yehova, kugira ngo mutangirwe impongano.”

17 Yehova yongera kubarira Musa ati: 18 “Uze ukore ikibesani c’umujumpu n’igitereko caco c’umujumpu c’ugukaraba+, kandi uze ugishire hagati y’ihema ry’ihuriro na ca gicaniro uheze ushire amazi muri ico kibesani+. 19 Kandi Aroni n’abahungu biwe bazotegerezwa gukaraba ku maboko no ku birenge kuri co+. 20 Bagiye mw’ihema ry’ihuriro bazokaraba n’amazi kugira ntibapfe, canke bagiye gukora igikorwa hafi y’igicaniro kugira bafumbishe umwotsi ishikanwa rishikanishwa umuriro rihabwa Yehova+. 21 Baze bakarabe ku maboko no ku birenge kugira ntibapfe+, iyo ibabere ingingo nyobozi gushika igihe kitagira urugero, we n’uruvyaro rwiwe mu mayaruka yabo yose+.”

22 Yehova abandanya kubarira Musa ati: 23 “Nayo wewe, niwitorere utumota twizatwiza+: imira*+ y’amama agumaraye ingana ingero amajana atanu, n’umudarasini+ usosa ungana ica kabiri c’ico gitigiri, ingero amajana abiri na mirongo itanu, n’ikibingo kimota neza+ kingana ingero amajana abiri na mirongo itanu, 24 n’umubagabaga+ ungana ingero amajana atanu hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+, n’amavuta y’umwelayo angana hini+. 25 Maze uze uyakoremwo amavuta meranda y’ukurobanuza, amavuta manovu, ikivange gikozwe n’umuhinguzi w’amavuta manovu+. Abwirizwa kuba amavuta meranda y’ukurobanuza+.

26 “Kandi uze uyarobanuze rya hema ry’ihuriro+ na ya sandugu y’igishingantahe, 27 na ya meza n’ibikoresho vyayo vyose, na ca gitereko c’amatara n’ibikoresho vyaco, na ca gicaniro c’imibavu, 28 na ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa n’ibikoresho vyaco vyose, na ca kibesani n’igitereko caco. 29 Kandi uze uvyeze kugira bicike koko vyeranda rwose+. Uwubikorako wese abwirizwa kuba mweranda+. 30 Kandi uzorobanuza amavuta Aroni+ n’abahungu biwe+, ubeze kugira bankorere bwa baherezi+.

31 “Kandi uze ubarire bene Isirayeli uti: ‘Aya kuri jewe aze agume ari amavuta meranda y’ukurobanuza mu mayaruka yanyu+. 32 Ntakwiye gusigwa umubiri w’umuntu, kandi ntimuze mukore n’amwe ameze nka yo mukoresheje ibiyagize. Ni ikintu ceranda. Kibwirizwa kuguma ari ikintu ceranda kuri mwebwe. 33 Uwo wese akoze amavuta manovu ameze nka yo kandi agashira makeyi kuri yo ku w’ahandi*, ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+.’”

34 Yehova abandanya kubwira Musa ati: “Niwitorere ibimota neza+: amama ya natafu* na sheheleti na galubano imota be n’imibavu itavanze ya olibani+. Hazoba urugero rungana kuri vyose. 35 Uze ubikoremwo imibavu+, uruvange rw’ibimota rukozwe n’umuhinguzi w’amavuta manovu, arunze umunyu+, atavanze, kibe ikintu ceranda. 36 Uze usye mikeyi kuri yo uyigire ifu inoze, ushire nkeyi kuri yo imbere ya ca Gishingantahe mw’ihema ry’ihuriro+, aho nzoseruka imbere yawe+. Ikwiye kuba myeranda rwose kuri mwebwe. 37 Kandi imibavu uzokora muri ivyo bintu, ntimuze muyikore ku bwanyu+. Ubwirizwa kuguma ubibona nk’ikintu ceranda kuri Yehova+. 38 Uwo wese akoze imibavu iyo ari yo yose imeze nka yo kugira aryoherwe n’akamoto kayo, aze arandurwe+ mu bantu b’iwabo.”

31 Yehova abandanya kubarira Musa ati: 2 “Raba, mpamagaye mw’izina Bezaleli+ mwene Uri, Uri mwene Huru, wo mu muryango wa Yuda+. 3 Kandi nzomwuzuza impwemu y’Imana mu bijanye n’ubukerebutsi n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga+, 4 ngo ahingure ibintu vy’ubuhinga, akore mu nzahabu n’ifeza n’umujumpu+, 5 no mu vy’uguhingura amabuye ku bwo kuyamadika+, no mu vy’uguhingura ibiti ku bwo gukora ibintu vy’ubwoko bwose+. 6 Nayo jewe, ehe ndamuhaye Oholiyabu mwene Ahisamaki wo mu muryango wa Dani+ ngo bakorane, kandi nshize ubukerebutsi mu mutima w’umuntu wese afise umutima wuzuye ubukerebutsi, kugira bashobore koko gukora ikintu cose nagutegetse+: 7 rya hema ry’ihuriro+ na ya Sandugu+ y’igishingantahe na wa murumyo uri kuri yo+, na vya bikoresho vyose vy’ihema, 8 na ya meza n’ibikoresho vyayo+, na ca gitereko c’amatara c’inzahabu itavanze n’ibikoresho vyaco vyose+, na ca gicaniro c’imibavu+, 9 na ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa be n’ibikoresho vyaco vyose+, na ca kibesani n’igitereko caco+, 10 na za mpuzu z’injishano, na za mpuzu nyeranda za Aroni umuherezi, na za mpuzu z’abahungu biwe bambara mu gukora bwa baherezi+; 11 na ya mavuta y’ukurobanuza, na ya mibavu imota neza y’aheranda+. Nk’uko ikintu cose nagutegetse kiri, ni ko bazokora.”

12 Yehova yongera kubwira Musa ati: 13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+. 14 Kandi mutegerezwa kwubahiriza isabato, kuko ari ikintu ceranda kuri mwebwe+. Uwuyihumanije azokwicwa ata kabuza+. Nihagira uwukora igikorwa kuri yo, uwo muntu ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo+. 15 Imisi itandatu ni yo igikorwa gishobora gukorwamwo, mugabo ku musi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+. Ni ikintu ceranda kuri Yehova. Umuntu wese azokora igikorwa ku musi w’isabato ntaze abure kwicwa. 16 Kandi bene Isirayeli bategerezwa kwubahiriza isabato, kugira bayihimbaze mu mayaruka yabo. Ni isezerano gushika igihe kitagira urugero+. 17 Ni ikimenyetso hagati yanje na bene Isirayeli gushika igihe kitagira urugero+, kuko mu misi itandatu ari ho Yehova yakoze amajuru n’isi, ku musi ugira indwi na ho akaruhuka, agatangura kwiruhura+.’”

18 Agiheza kuvugana na Musa ku musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vya ca Gishingantahe+, ibisate vy’amabuye vyanditsweko n’urutoke rw’Imana+.

32 Muri uwo mwanya abantu babona ko Musa yari atevye kumanuka ava ku musozi+. Nuko bakoranira iruhande ya Aroni, bamubwira bati: “Haguruka, uduhingurire imana izotuja imbere+, kuko uyo Musa, wa mugabo yatudugana adukuye mu gihugu ca Misiri+, tutazi vy’ukuri ivyamushikiye.” 2 Aroni aca ababwira ati: “Katūra amahereni y’inzahabu+ ari ku matwi y’abagore banyu, y’abahungu banyu n’ay’abakobwa banyu, muyanzanire.” 3 Nuko abantu bose batangura gukatūra amahereni y’inzahabu yari ku matwi yabo, bayazanira Aroni. 4 Maze atora nya nzahabu mu maboko yabo, ayiha imero+ akoresheje itindo, ayikoramwo igishushanyo c’inyana y’icuma gishongeshejwe+. Hanyuma batangura kuvuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri+.”

5 Aroni ngo abibone, yubaka igicaniro imbere yayo. Aroni arahava arasemerera ati: “Ejo hariho umusi mukuru wa Yehova.” 6 Nuko ku musi ukurikira bavyuka kare, batangura gushikana ibimazi biturirwa no gushikiriza ibimazi vy’ugusangira. Inyuma y’ivyo, abantu baricara ngo barye bongere banywe. Maze bava hasi ngo baryoherwe+.

7 Yehova rero abwira Musa ati: “Genda, manuka, kuko ba bantu bawe wadugana ubakuye mu gihugu ca Misiri bikwegeye guhona+. 8 Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse kugenderamwo+. Bihinguriye igishushanyo c’inyana y’icuma gishongeshejwe, kandi baguma bacunamira bongera bagishikanira ibimazi, bavuga ngo: ‘Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri+.’” 9 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Nitegereje aba bantu: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. 10 Ubu rero ndeka nkwereke, ishavu ryanje ribarurumbire, ndabatikize+, nawe ndagukuremwo ihanga rikomeye+.”

11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye? 12 Kubera iki Abanyamisiri+ bokwirirwa baravuga ngo: ‘Yabakuyeyo mu ntumbero mbi kugira abicire mu misozi no kugira abatikize ku buringanire bw’ubutaka+’? Hindukira, ureke ishavu ryawe rirurumba+, wicuze+ ku nabi wagira ukorere abantu bawe. 13 Ibuka Aburahamu, Izahaki na Isirayeli abasavyi bawe, abo warahiye wewe nyene+, mu kubabwira uti: ‘Nzogwiza uruvyaro rwanyu nk’inyenyeri zo mu majuru+, kandi iki gihugu cose nerekanye nzogiha uruvyaro rwanyu+, kugira ngo bacigabire koko gushika igihe kitagira urugero+.’”

14 Nuko Yehova atangura kwicuza ku nabi yari yavuze ko akorera abantu biwe+.

15 Inyuma y’ivyo Musa arahindukira, aramanuka ava ku musozi+ na vya bisate bibiri vy’Igishingantahe+ mu kuboko kwiwe, ibisate vyanditsweko ku mpande zompi. Vyari vyanditsweko imbere n’inyuma. 16 Kandi nya bisate vyari vyahinguwe n’Imana, n’inyandiko yari inyandiko y’Imana isaruwe kuri nya bisate+. 17 Hanyuma Yosuwa atangura kwumva urwamo rw’abantu kubera induru yabo, aca abwira Musa ati: “Hari urwamo rw’indwano+ mw’ikambi.” 18 Mugabo avuga ati:

“Si ijwi ry’ukuririmba kwo kwigina igikorwa c’ubushobozi+,

Kandi si ijwi ry’ukuririmba kw’ugutsindwa;

Ni ijwi ry’ukuririmba kw’ubundi bwoko ndiko ndumva.”

19 Nuko, Musa agishika hafi y’ikambi akabona ya nyana+ n’intambo, ishavu ryiwe ritangura kururumba, ubwo nyene aca ata hasi vya bisate vyari mu kuboko kwiwe, abisabiriza ku ntango y’umusozi+. 20 Maze afata ya nyana bari bahinguye arayiturira n’umuriro, arayisya gushika inoze+, ayisanzaza ku buringanire bw’amazi+ hanyuma ayanywesha bene Isirayeli+. 21 Inyuma y’ivyo, Musa abwira Aroni ati: “Aba bantu bakugize iki catumye ubakwegera igicumuro gikomeye?” 22 Kuri ivyo Aroni avuga ati: “Ntureke ngo ishavu ry’umukama wanje rirurumbe. Wewe ubwawe urazi neza aba bantu, yuko bahengamiye ku kibi+. 23 Bambwiye rero ngo: ‘Duhingurire imana izotuja imbere+, kuko uyo Musa, wa mugabo yatuduganye adukuye mu gihugu ca Misiri, tutazi vy’ukuri ivyamushikiye.’ 24 Ku bw’ivyo ndababwira nti: ‘Ni bande bafise inzahabu? Nibayikatūre kuri bo, bayimpe.’ Nanje ndaheza ndayiterera mu muriro, haca havamwo iyi nyana.”

25 Musa abona ko abantu birekuye, kuko Aroni yari yabaretse bakirekura+, bakaba agaterasoni mu babarwanya+. 26 Maze Musa ahagarara mw’irembo ry’ikambi, avuga ati: “Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova? Naze aha ndi+!” Nuko bene Lewi bose bakoranira aho ari. 27 Aca ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Umwe wese muri mwebwe nashire inkota yiwe mu rubavu rwiwe. Nimunyuragire mw’ikambi, mugenda mugaruka, muva kw’irembo muja ku rindi, umwe wese yice mwene wabo, na mugenziwe, n’umugenzi wiwe somambike+.’” 28 Nuko bene Lewi+ bakora nk’uko Musa yari avuze, ku buryo kuri uwo musi mu bantu hagwa nk’abagabo ibihumbi bitatu. 29 Musa abandanya kuvuga ati: “Nimwuzuze ububasha ukuboko kwanyu uno musi ku bwa Yehova+, kuko umwe wese muri mwebwe arwanije umuhungu wiwe bwite na mwene wabo bwite+, bigatuma mwebwe abaha umuhezagiro uno musi+.”

30 Hanyuma ku musi nyene ukurikira, Musa atangura kubwira abantu ati: “Mwebwe mwacumuye igicumuro gikomeye+, kandi ubu ngira nduge kwa Yehova. Hari aho noshobora gutanga iciru ku bw’igicumuro canyu+.” 31 Nuko Musa asubira kwa Yehova, avuga ati: “Aaa, ariko aba bantu bacumuye igicumuro gikomeye, kubona bihinguriye imana y’inzahabu+! 32 Nimba rero ubababarira igicumuro cabo+. . ., atari ukwo na ho, ndakwinginze umpanagure+ mu gitabu cawe+ wanditse.” 33 Ariko Yehova abwira Musa ati: “Uwancumuyeko wese, ni we nzohanagura mu gitabu canje+. 34 Ubu rero, ingo uyobore abantu ubajane aho nakubariye. Ehe umumarayika wanje azokuja imbere+, kandi umusi nazanye igihano, nzobazanako igihano koko kubera igicumuro cabo+.” 35 Yehova atangura guteza icago abantu kuko bari bahinguye ya nyana, imwe Aroni yari yahinguye+.

33 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda, uduge uve ng’aha, wewe n’abantu waduganye ubakuye mu gihugu ca Misiri+, uje mu gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, nti: ‘Uruvyaro rwawe ni rwo nzogiha+.’ 2 Kandi nzotuma umumarayika akuje imbere+ nirukane Abanyakanani, Abamori, Abaheti n’Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+: 3 uje mu gihugu gitemba amata n’ubuki+, kuko ntazoduga hagati muri wewe, kuko uri igisata c’izosi ridadaraye+, simpave ndagutikiriza mu nzira+.”

4 Aho abantu bumviye iryo jambo ribi, batangura kugandara+, ntihagira n’umwe muri bo yambara udusharizo twiwe. 5 Yehova abandanya kubwira Musa ati: “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Muri igisata c’izosi ridadaraye+. Mu kanya isase+ noduga hagati muri wewe nkagutikiza. Ubu rero kura udusharizo twawe udushire hasi, kuko ngomba kumenya ico ngiye kukugira+.’” 6 Bene Isirayeli baca batangura kwikoba udusharizo twabo, kuva ku musozi Horebu+ kubandanya.

7 Nayo Musa, atangura gukuraho ihema ryiwe hanyuma arishinga inyuma y’ikambi, kure y’ikambi; araheza aryita ihema ry’ihuriro. Uku ni ko vyagenda: abashaka bose gusiguza+ Yehova barasohoka bakaja kuri rya hema ry’ihuriro ryari inyuma y’ikambi. 8 Kandi Musa agisohoka akaja kuri rya hema, abantu bose barahaguruka+, bagahagarara umwe wese ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe, bagakurikiza amaso Musa gushika yinjiye mw’ihema. 9 Vyongeye Musa akimara kwinjira mw’ihema, ya nkingi y’igicu+ yaramanuka igahagarara ku bwinjiriro bw’ihema maze akavugana+ na Musa. 10 Kandi abantu bose barabona nya nkingi y’igicu+ ihagaze ku bwinjiriro bw’ihema, bose bagahaguruka bakunama umwe wese ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe+. 11 Kandi Yehova yavugana na Musa amaso mu yandi+, nk’uko nyene umuntu yovugana na mugenziwe. Iyo agarutse mw’ikambi, umusuku wiwe+ Yosuwa mwene Nuni+, uwari umufasha, ntiyava hagati mw’ihema.

12 Musa abwira Yehova ati: “Raba, uriko umbwira ngo: ‘Dugana aba bantu,’ ariko wewe ubwawe ntiwamenyesheje uwo uzotuma ngo ajane nanje. Vyongeye, wewe ubwawe wavuze uti: ‘Ndakuzi mw’izina+, kandi bisubiye, waragize ubutoni mu maso yanje.’ 13 Ubu rero, ndakwinginze, nimba nagize ubutoni mu maso yawe+, ndakwinginze, umenyeshe inzira zawe+, kugira ndakumenye, mpeze ngire ubutoni mu maso yawe. Kandi umenye yuko iri hanga ari abantu bawe+.” 14 Na we avuga ati: “Jewe ubwanje nzojana nawe+ kandi nzoguha koko akaruhuko+.” 15 Kuri ivyo Musa amubwira ati: “Nimba wewe ubwawe utaje ngo tujane, ntutudugane ngo udukure ng’aha. 16 None bizomenyekanira ku ki yuko nagize ubutoni mu maso yawe, jewe n’abantu bawe? Mbega si uko ujana natwe+, kuko jewe n’abantu bawe twagizwe abatandukanye n’abandi bantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka+?”

17 Yehova abandanya kubwira Musa ati: “N’ico kintu nyene uvuze nzogikora+, kuko wagize ubutoni mu maso yanje kandi nkaba ndakuzi mw’izina.” 18 Kuri ivyo avuga ati: “Ndakwinginze, unyereke ubuninahazwa bwawe+.” 19 Mugabo avuga ati: “Jewe ubwanje nzocisha ukumera neza kwanje kwose imbere y’amaso yawe+, menyeshe izina rya Yehova imbere yawe+; kandi nzogirira ubutoni uwo nogirira ubutoni, kandi nzogirira imbabazi uwo nogirira imbabazi+.” 20 Yongerako ati: “Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abeho+.”

21 Yehova yongera kuvuga ati: “Ehe ikibanza iruhande yanje: uze uhagarare ku gitandara. 22 Kandi uko bizogenda ni uku: igihe ubuninahazwa bwanje buzoba buriko burarengana, nzogushira mu kinogo muri nya gitandara, hanyuma nshire ikiganza canje hejuru yawe bwa gikingirizo gushika ndenganye. 23 Inyuma y’ivyo nzokuraho ikiganza canje, nawe uzombona mu mugongo. Mugabo mu maso hanje ntihoshobora kubonwa+.”

34 Maze Yehova abwira Musa ati: “Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, nanje ntegerezwa kwandika kuri vyo ya majambo yaboneka ku bisate vya mbere+, bimwe wasavya+. 2 Kandi witegurire igitondo, kuko mu gitondo utegerezwa kuduga ku musozi Sinayi hanyuma ugahagarara iruhande yanje ng’aho, kw’isonga ry’umusozi+. 3 Mugabo nta n’umwe akwiye kudugana na wewe, kandi vyongeye, ntihagire uwundi n’umwe aboneka ku musozi wose+. N’ikindi kandi, nta mukuku canke ubusho bikwiye kuba biriko birarisha imbere y’uwo musozi+.”

4 Nuko Musa abāza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere, araheza avyuka kare mu gitondo, aduga ku musozi Sinayi, nk’uko Yehova yari yamutegetse, kandi yari atwaye nya bisate bibiri vy’amabuye mu kuboko kwiwe. 5 Hanyuma Yehova amanuka+ ari mu gicu, ahagararana na we ng’aho, araheza amenyesha izina rya Yehova+. 6 Yehova aca imbere yiwe amenyesha ati: “Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi+ n’inyempuhwe+, iteba gushavura+ kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo+ be n’ukuri+, 7 izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi+, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro+, mugabo ikaba itazogenda ikuye igihano ku muntu+; izana igihano ku bana no ku buzukuru ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.”

8 Musa aca anyaruka kwunama ashika hasi, akubita inkoro hasi+. 9 Maze avuga ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe, ewe Yehova, ndakwinginze, Yehova agendere hagati yacu+, kuko ari abantu b’izosi ridadaraye+, kandi ubabarire ikosa ryacu n’igicumuro cacu+, udufate nk’ikintu wigabira+.” 10 Na we ati: “Ehe mpfunditse isezerano: Imbere y’abantu bawe bose nzokora ibintu vy’agatangaza bitigeze biremwa mw’isi yose canke mu mahanga yose+. Kandi abo uri hagati bose bazobona koko igikorwa ca Yehova, kuko ari ikintu giteye ubwoba ndiko ndakorana nawe+.

11 “Nayo wewe, gumya ivyo ndagutegetse uno musi+. Ehe ngira nirukane imbere yawe Abamori n’Abanyakanani n’Abaheti n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+. 12 Wiyubare ntuze ugirane isezerano n’ababa mu gihugu ugiyemwo+, ntibizohave biba umutego hagati yawe+. 13 Ariko ibicaniro vyabo muze mubisiturire hasi; inkingi nyeranda zabo muze muzisavye; ibikingi vyeranda vyabo na vyo muze muvyicire+. 14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+; 15 ntuze ugirane isezerano n’ababa muri ico gihugu, kuko batazobura gushurashurana n’imana zabo+ bakongera bagashikanira ibimazi izo mana zabo+. Kandi ntihazobura uwugutumira, nawe ata gukeka ukarya ku kimazi ciwe+. 16 Ntuzobura rero gutora bamwe mu bakobwa babo ukabashingira ku bahungu bawe+, kandi abakobwa babo ntibazobura gushurashurana n’imana zabo, bagatuma abahungu bawe bashurashurana n’imana zabo+.

17 “Ntukihingurire ikigirwamana mu cuma gishongeshejwe+.

18 “Uze ugumye umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+. Uzorya udutsima tutarimwo umwambiro, nk’uko nagutegetse, imisi indwi ku gihe cashinzwe mu kwezi kwa Abibu+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho wavuye mu Misiri.

19 “Ikintu cose kibaye ica mbere mu kwugurura igitereko ni rwanje+, ku bitungwa vyawe vyose na ho, ni ikigabo c’uburiza c’ishūri n’ic’intama+. 20 Uburiza bw’indogobwa ubwirizwa kubucunguza intama+. Ariko nutabucungura, utegerezwa rero kubuvuna izosi. Imfura yose mu bahungu bawe ubwirizwa kuyicungura+. Kandi ntibaze baseruke imbere yanje iminwe misa+.

21 “Uzokora imisi itandatu, mugabo ku musi ugira indwi uzokwubahiriza isabato+. Mu gihe c’irima no mw’iyimbura uzokwubahiriza isabato+.

22 “Kandi uzohimbaza umusi mukuru wawe w’amayinga ukoresheje ivya mbere vyeze vyo mu mwimbu+ w’ingano, n’umusi mukuru w’isarura mu ntango z’umwaka+.

23 “Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe aze aseruke+ imbere y’Umukama w’ukuri Yehova, Imana ya Isirayeli. 24 Kuko nzokwirukana imbere yawe amahanga+, kandi nzokwagura akarere kawe+. Nta n’umwe azokwipfuza itongo ryawe igihe uzoba uduze kurenguka imbere ya Yehova Imana yawe gatatu mu mwaka+.

25 “Ntugashikane* amaraso y’ikimazi canje kumwe n’ivyambiwe+. Kandi ikimazi c’umusi mukuru wa pasika ntigikwiye kugumaho ijoro ryose gushika mu gitondo+.

26 “Vyizavyiza mu vyamwa vya mbere vyeze+ vy’ubutaka bwawe, uze ubizane ku nzu ya Yehova Imana yawe+.

“Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.”

27 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Niwiyandikire aya majambo+, kuko ngiranye koko isezerano nawe be na Isirayeli hisunzwe aya majambo+.” 28 Hanyuma agumana ng’aho na Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Nta mukate yarya kandi nta mazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo ya nya sezerano, ya Majambo Cumi+.

29 Aho Musa amanukiye ava ku musozi Sinayi, nya bisate bibiri vya ca Gishingantahe vyari mu kuboko kwiwe igihe yamanuka ava ku musozi+, kandi Musa ntiyari azi ko urukoba rwo mu maso hiwe rwarekura imishwarara kubera yari yavuganye n’Imana+. 30 Aho Aroni na bene Isirayeli bose baboneye Musa, erega, ehe urukoba rwo mu maso hiwe rwarekura imishwarara. Baca batinya kumwegera+.

31 Musa atangura kubahamagara. Aroni n’abakuru bose bo muri nya koraniro bagaruka kuri we, Musa atangura kuvugana na bo. 32 Inyuma y’ivyo, bene Isirayeli bose baramwegera, na we atangura kubategeka ivyo Yehova yari yavuganye na we vyose ku musozi Sinayi+. 33 Musa arangije kuvugana na bo, yaca ashira icitwikiro mu maso hiwe+. 34 Mugabo yinjiye imbere ya Yehova kuvugana na we, yaca akura nya citwikiro gushika asohotse+. Hanyuma yarasohoka akabarira bene Isirayeli ivyo yaba yategetswe+. 35 Kandi bene Isirayeli barabona mu maso ha Musa, yuko urukoba rwo mu maso hiwe rwarekura imishwarara+. Hanyuma Musa yarasubira gushira nya citwikiro mu maso hiwe gushika yinjiye kuvugana n’Imana+.

35 Mu nyuma Musa akoranya ikoraniro ryose rya bene Isirayeli, ababwira ati: “Aya ni yo majambo Yehova yategetse, ngo ashitswe+: 2 Imisi itandatu ni yo igikorwa gishobora gukorwamwo+, mugabo umusi ugira indwi uzocika ikintu ceranda kuri mwebwe, isabato y’akaruhuko kuzuye kuri Yehova. Umuntu wese azokora igikorwa kuri wo azokwicwa+. 3 Ntimugacane umucanwa ahantu na hamwe muba, ku musi w’isabato.”

4 Musa abandanya kubwira ikoraniro ryose rya bene Isirayeli ati: “Iri ni ryo jambo Yehova yategetse, ati: 5 ‘Nimutorere Yehova intererano muri mwebwe ubwanyu+. Umuntu wese afise umutima ukunze+ nayizane ibe intererano ya Yehova, ni ukuvuga: inzahabu n’ifeza n’umujumpu+, 6 inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama, ilino nziza, ubwoya bw’impene+, 7 inshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura, inshato z’ivyogaruzi, igiti c’umunyinya, 8 amavuta y’igitangamuco, amavuta y’umusomozo yo kurobanuza n’ay’imibavu imota neza+, 9 amabuye ya onigisi n’amabuye amadikwa yo gushira kuri efodi+ no kuri ka kambarwa ko ku gikiriza+.

10 “‘Kandi ab’umutima w’inkerebutsi bose+ muri mwebwe nibaze bakore ivyo Yehova yategetse vyose, 11 ni ukuvuga ya taberenakulo kumwe n’ihema ryayo be n’igipfukisho cayo, ingobe zayo n’ibizingiti vyayo, ibihindizo vyayo, inkingi zayo n’ivyicaro binogoye vyayo; 12 ya Sandugu+ n’iminiho+ yayo, wa murumyo+ na ya rido+ y’igikingirizo; 13 ya meza+ n’iminiho yayo n’ibikoresho vyayo vyose, na ya mikate yerekanwa+; 14 na ca gitereko c’amatara+ yo gutanga umuco be n’ibikoresho vyaco n’amatara yaco, na ya mavuta+ y’ugutanga umuco; 15 na ca gicaniro c’imibavu+ n’iminiho yaco; na ya mavuta y’ukurobanuza na ya mibavu imota neza+; na ca gikingirizo c’ubwinjiriro, co ku bwinjiriro bw’itaberenakulo; 16 ca gicaniro+ c’ishikanwa riturirwa be na ka kayungiro k’umujumpu kaco, iminiho yaco n’ibikoresho vyaco vyose; ca kibesani+ n’igitereko caco; 17 vya bitambara bimanikwa vy’ikigo+, inkingi zaco n’ivyicaro binogoye vyaco; na ca gikingirizo c’irembo ry’ikigo; 18 za mambo z’itaberenakulo na za mambo z’ikigo n’imigozi yazo+; 19 za mpuzu+ z’injishano z’igikorwa c’aheranda, za mpuzu nyeranda+ za Aroni umuherezi na za mpuzu z’abahungu biwe zo kwambara mu gukora bwa baherezi.’”

20 Nuko ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rirasohoka, riva imbere ya Musa. 21 Maze baraza, umuntu wese umutima wiwe usunitse+, umuntu wese impwemu yiwe isunitse, bazana intererano ya Yehova ku bw’igikorwa c’ihema ry’ihuriro no ku bw’ibikorwa vyaryo vyose no ku bwa za mpuzu nyeranda. 22 Baguma baza, abagabo kumwe n’abagore, uwufise umutima ukunze wese. Bazana udusharizo tw’ibipengeri n’amahereni n’impeta n’udusharizo tw’ikigore, ubwoko bwose bw’ibintu vy’inzahabu, ni ukuvuga umuntu wese yashikanira Yehova ishikanwa rizungagizwa ry’inzahabu+. 23 Kandi abo bose baba bafise inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama, n’ilino nziza n’ubwoya bw’impene n’inshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura n’inshato z’ivyogaruzi, barabizana+. 24 Abo bose baterera intererano y’ifeza n’umujumpu barazana intererano ya Yehova, n’abo bose baba bafise ibiti vy’iminyinya vyo gukoresha igikorwa cose ca nya kazi barabizana.

25 Kandi abagore bose b’umutima wuzuye ubukerebutsi+ barajisha n’amaboko yabo, bakaguma bazana imihingo ya za nyuzi z’ubururu na bwa bwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, ca gitambara c’ibara ry’agahama na ya lino nziza. 26 Nuko abagore bose umutima wabo usunitse bivuye ku bukerebutsi, bajisha bwa bwoya bw’impene.

27 Abakuru na bo bazana amabuye ya onigisi n’amabuye amadikwa yo gushira kuri ya efodi no kuri ka kambarwa ko ku gikiriza+, 28 na ya mavuta y’umusomozo, na ya mavuta yo gutanga umuco, n’ay’ukurobanuza, n’aya ya mibavu imota neza+. 29 Umugabo wese n’umugore wese umutima usunitse kuzana ikintu co gukoresha igikorwa cose Yehova yari yategetse gukora biciye kuri Musa, yarabigira. Bene Isirayeli bazanira Yehova ishikanwa ritangwa ku bushake+.

30 Maze Musa abwira bene Isirayeli ati: “Raba, Yehova yahamagaye mw’izina Bezaleli+ mwene Uri, Uri mwene Huru, wo mu muryango wa Yuda. 31 Kandi yatanguye kumwuzuza impwemu y’Imana mu bijanye n’ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga 32 ngo ahingure ibintu vy’ubuhinga, akore mu nzahabu n’ifeza n’umujumpu+, 33 no mu vy’uguhingura amabuye ku bwo kuyamadika, no mu vy’uguhingura ibiti ku bwo gukora ibintu vy’ubuhanga vy’ubwoko bwose+. 34 Kandi yashize mu mutima wiwe yuko akwiye kwigisha, we hamwe na Oholiyabu+ mwene Ahisamaki wo mu muryango wa Dani. 35 Yujuje imitima yabo ubukerebutsi+, kugira bakore igikorwa cose c’umuhinguzi w’utugenegene n’umudeshi+, n’ic’umujishi w’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’ibitambara vy’ibara ry’agahama, n’ilino nziza, be n’ic’umujishi w’impuzu, abantu bakora ubwoko bwose bw’igikorwa kandi bagahingura ibintu vy’ubuhinga.

36 “Kandi Bezaleli ategerezwa gukora, na Oholiyabu+ nyene, n’umugabo wese w’umutima w’inkerebutsi, uwo Yehova yahaye ubukerebutsi+ n’ugutegera+ muri ivyo bintu, kugira amenye ingene akora akazi kose ka ca gikorwa ceranda yisunze ivyo Yehova yategetse vyose+.”

2 Nuko Musa ahamagara Bezaleli na Oholiyabu n’umugabo wese w’umutima w’inkerebutsi, uwo Yehova yari yashize ubukerebutsi mu mutima+, umugabo wese umutima wiwe usunitse kuza ku gikorwa kugira agikore+. 3 Maze batora imbere ya Musa intererano yose+ bene Isirayeli bari bazanye ku bwo gukora akazi ka ca gikorwa ceranda, kandi bano baguma bamuzanira ishikanwa ritangwa ku bushake, uko bukeye.

4 Nuko abantu bose b’inkerebutsi bariko bakora nya gikorwa ceranda cose batangura kuza, umugabo umwe hanyuma y’uwundi, bavuye ku gikorwa cabo bariko barakora, 5 babwira Musa bati: “Abantu bariko bazana vyinshi kuruta ivyo igikorwa gikeneye ku bw’akazi Yehova yategetse ko gakorwa.” 6 Nuko Musa ategeka yuko bacisha itangazo mw’ikambi, ngo: “Bagabo namwe bagore, ntihagire ibindi bikoresho mwongera kuzana vy’intererano nyeranda.” Nuko abantu babuzwa kubizana. 7 Kandi nya bikoresho vyari bihagije ku bw’igikorwa cose co gukora, mbere vyari umurengera.

8 Hanyuma abantu bose b’umutima w’inkerebutsi+ mu bariko bakora nya gikorwa batangura gukora ya taberenakulo+, vya bitambara cumi vy’ihema vy’ilino nziza ihinzwe, n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, n’igitambara c’ibara ry’agahama; abikorana abakerubi badeshwe n’umudeshi. 9 Uburebure bw’igitambara kimwe cose bwari amatambwe* mirongo ibiri n’umunani, ubwaguke bw’igitambara kimwe cose na bwo amatambwe ane. Ingero yari imwe ku bitambara vyose. 10 Maze afatanya ibitambara bitanu kimwe ku kindi+, bindi bitanu na vyo arabifatanya kimwe ku kindi. 11 Inyuma y’ivyo akora utugōmbo tw’inyuzi z’ubururu ku mubari w’igitambara kimwe ku mpera y’ihuriro. Agira kuno nyene ku mubari w’igitambara gihereza ku rindi huriro+. 12 Akora utugōmbo mirongo itanu ku gitambara kimwe, akora tundi mirongo itanu ku mpera y’igitambara cari ku rindi huriro, nya tugōmbo tukarabana+. 13 Amaherezo akora ingobe mirongo itanu z’inzahabu hanyuma afatanya nya bitambara kimwe ku kindi akoresheje za ngobe, ku buryo bicika itaberenakulo imwe+.

14 Abandanya gukora kuri ya taberenakulo ibitambara vy’ubwoya bw’impene ku bwa nya hema. Ibitambara cumi na kimwe ni vyo yakoze+. 15 Uburebure bw’igitambara kimwe cose bwari amatambwe mirongo itatu, ubwaguke na bwo amatambwe ane. Ingero yari imwe kuri ivyo bitambara cumi na kimwe+. 16 Maze afatanya ibitambara bitanu ukwavyo, ibindi bitambara bitandatu na vyo ukwavyo+. 17 Ubukurikira akora utugōmbo mirongo itanu ku mubari w’igitambara gihereza kw’ihuriro, akora tundi mirongo itanu ku mubari w’ikindi gitambara cafatana na co+. 18 Inyuma y’ivyo akora ingobe mirongo itanu z’umujumpu ku bwo gufatanya ihema kugira ricike ikintu kimwe+.

19 Atangura gukora igipfukisho c’ihema mu nshato z’impfizi y’intama zizize ibara ritukura be n’igipfukisho mu nshato z’ivyogaruzi+, hejuru+.

20 Maze akora vya bizingiti vya ya taberenakulo mu giti c’umunyinya+, bihagarara ku mpera. 21 Uburebure bw’ikizingiti yari amatambwe cumi, ubwaguke bw’ikizingiti kimwe cose na bwo itambwe rimwe n’igice+. 22 Ikizingiti kimwe cose cari gifise udutwe tubiri tujana kamwe n’akandi. Ukwo ni ko yagize ku bizingiti vyose vy’itaberenakulo+. 23 Nuko akora nya bizingiti ku bw’itaberenakulo, ibizingiti mirongo ibiri vy’uruhande ruraba i Negebu, amaja mu bumanuko+. 24 Hanyuma akora ivyicaro binogoye mirongo ine vy’ifeza vyo kuja munsi ya vya bizingiti mirongo ibiri, bibiri munsi y’ikizingiti kimwe kumwe n’udutwe twaco tubiri, na bibiri munsi y’ikindi kizingiti kumwe n’udutwe twaco tubiri+. 25 Urundi ruhande rw’itaberenakulo, urwo mu buraruko, arukorera ibizingiti mirongo ibiri+ 26 n’ivyicaro binogoye mirongo ine vyavyo vy’ifeza, bibiri munsi y’ikizingiti kimwe, na bibiri munsi y’ikindi kizingiti+.

27 Ibihimba vy’inyuma vy’itaberenakulo amaja mu burengero abikorera ibizingiti bitandatu+. 28 Akora kandi ibizingiti bibiri bwa bikingi vy’imfuruka vy’itaberenakulo ku bihimba bibiri vyayo vy’inyuma+. 29 Vyari bibiribibiri hasi, kandi biri kumwe bikaba amahasa gushika hejuru kuri kimwe cose ku kigōmbo ca mbere. Ivyo ni vyo yagize kuri vyo vyompi, kuri nya bikingi vy’imfuruka bibiri+. 30 Nuko bigera ku bizingiti umunani, ivyicaro binogoye vyavyo vy’ifeza na vyo bigera kuri cumi na bitandatu, bibiri bigakurikirana na bindi bibiri munsi y’ikizingiti kimwe cose+.

31 Abandanya gukora ibihindizo vy’igiti c’umunyinya, bitanu ku bw’ibizingiti vy’uruhande rumwe rwa nya taberenakulo+ 32 na bitanu ku bw’ibizingiti vy’urundi ruhande rwayo, na bindi bitanu ku bw’ibizingiti vyayo ku bwa vya bihimba bibiri vy’inyuma amaja mu burengero+. 33 Maze akora ca gihindizo co hagati co guca hagati ya vya bizingiti, kikava ku mpera imwe kigashika ku yindi+. 34 Hanyuma ahomeka inzahabu kuri vya bizingiti, akora n’ibigōmbo vyavyo vy’inzahabu vyo gufata vya bihindizo, abandanya no guhomeka inzahabu kuri nya bihindizo+.

35 Hanyuma atangura gukora irido+ mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe. Yayikoranye abakerubi+, ideshwe n’umudeshi. 36 Maze ayikorera inkingi zine z’umunyinya araheza azihomekako inzahabu, utumambo twazo tukaba utw’inzahabu, yongera azikorera ivyicaro binogoye bine vy’ifeza ishongeshejwe+. 37 Abandanya gukora igikingirizo c’ubwinjiriro bw’ihema mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe, bikorwa n’umujishi+, 38 n’inkingi zitanu zaco n’utumambo twazo. Yongera ahomeka inzahabu hejuru ku mitwe yazo n’ibifatanisho vyazo, mugabo ivyicaro binogoye vyazo bitanu vyari ivy’umujumpu+.

37 Nuko Bezaleli+ akora ya Sandugu+ y’igiti c’umunyinya. Uburebure bwayo yari amatambwe abiri n’igice, ubwaguke bwayo itambwe n’igice, amahagarara yayo na yo itambwe n’igice+. 2 Maze imbere n’inyuma ayihomekako inzahabu itavanze, ayikorera n’umukugirwa w’inzahabu uyikikuje+. 3 Inyuma y’ivyo ayikorera ibigōmbo bine vy’inzahabu ishongeshejwe, vyo kuja hejuru y’amaguru yayo ane, hamwe n’ibigōmbo bibiri ku ruhande rumwe rwayo, na bibiri ku rundi ruhande+. 4 Ubukurikira akora iminiho y’igiti c’umunyinya, ayihomekako inzahabu+. 5 Maze acisha nya miniho muri vya bigōmbo ku mpande z’Isandugu ku bwo kurerura nya Sandugu+.

6 Abandanya gukora wa murumyo+ w’inzahabu itavanze. Uburebure bwawo yari amatambwe abiri n’igice, ubwaguke bwawo na bwo itambwe n’igice+. 7 Yongera akora abakerubi babiri b’inzahabu. Yabakoze abacurishije inyundo ku mpera zompi za nya murumyo+. 8 Umukerubi umwe yari ku mpera hirya, uwundi ku mpera hino. Yakoze nya bakerubi kuri nya murumyo ku mpera zawo zompi+. 9 Kandi babaye abakerubi bashanje amababa abiri bayerekeza hejuru, bakingīrije nya murumyo amababa yabo+, mu maso habo hakarabana, herekeza kuri nya murumyo+.

10 Akora na ya meza y’igiti c’umunyinya+. Uburebure bwayo yari amatambwe abiri, ubwaguke bwayo itambwe, amahagarara yayo na yo itambwe n’igice+. 11 Maze ayihomekako inzahabu itavanze, ayikorera n’umukugirwa w’inzahabu uyikikuje+. 12 Ubukurikira ayikorera agakikuzo kayikikuje k’ubwaguke bw’ikiganza, agakorera n’umukugirwa w’inzahabu ugakikuje+. 13 Vyongeye, ayikorera ibigōmbo bine vy’inzahabu ishongeshejwe, abishira kuri za mfuruka zine zo kuri ya maguru ane+. 14 Nya bigōmbo vyari vyegereye nya gakikuzo, bikaba ivyo gufata ya miniho ku bwo kurerura nya meza+. 15 Maze akora ya miniho y’igiti c’umunyinya, ayihomekako inzahabu ku bwo kurerura ya meza+. 16 Inyuma y’ivyo akora ibikoresho vyo ku meza, amasahani yayo n’ibikombe vyayo n’ibibakure vyayo n’amakarabo yayo yokoreshejwe mu gusuka ibinyobwa vy’ishikanwa, abikora mu nzahabu itavanze+.

17 Maze akora ca gitereko c’amatara+ c’inzahabu itavanze. Yagikoze agicurishije inyundo. Impande zaco n’amashami yaco, ibikombe vyaco, amapfundo yaco n’amashurwe yaco vyava muri co+. 18 Amashami atandatu yava mu mpande zaco, amashami atatu yaco akava mu ruhande rumwe rwaco, yandi atatu akava mu rundi ruhande rwaco+. 19 Ibikombe bitatu vy’imero y’amashurwe ya shakedi vyari ku mugwi umwe w’amashami, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa; bindi bitatu vyari ku wundi mugwi w’amashami, amapfundo n’amashurwe bigakurakuranwa. Ukwo ni ko vyari kuri ya mashami atandatu ava muri ca gitereko c’amatara+. 20 Kandi kuri nya gitereko c’amatara hari ibikombe bine vy’imero y’amashurwe ya shakedi, amapfundo yaco n’amashurwe yaco bigakurakuranwa+. 21 Ipfundo ryo munsi y’amashami abiri ryava muri co, n’ipfundo ryo munsi y’ayandi mashami abiri rikava muri co, n’ipfundo ryo munsi y’amashami abiri yandi rikava muri co. Ni ko vyari kuri nya mashami atandatu ava muri ca gitereko c’amatara+. 22 Amapfundo yavyo n’amashami yavyo vyava muri co. Cose uko kingana cari ikintu kimwe gicurishijwe inyundo, c’inzahabu itavanze+. 23 Maze akora amatara yaco indwi n’udupensi twaco n’ibijamwo umuriro vyaco mu nzahabu itavanze+. 24 Yagikoze mw’italanto y’inzahabu itavanze be n’ibikoresho vyaco vyose.

25 Hanyuma akora ca gicaniro c’imibavu+ mu giti c’umunyinya+. Uburebure bwaco bwari itambwe, ubwaguke bwaco na bwo itambwe, kikaba ikwadarato, amahagarara yaco akaba amatambwe abiri. Amahembe yaco yava muri co+. 26 Maze agihomekako inzahabu itavanze, ku buringanire bwaco bwo hejuru n’impande zaco irya n’ino n’amahembe yaco, agikorera n’umukugirwa w’inzahabu ugikikuje+. 27 Kandi agikorera ibigōmbo bibiri vy’inzahabu hepfo munsi y’umukugirwa waco kuri zibiri mu mpande zaco, ku mpande zibiri zaco zirabana, biba ibifata ya miniho yo kukirerura+. 28 Inyuma y’ivyo akora nya miniho y’igiti c’umunyinya, ayihomekako inzahabu+. 29 Akora kandi ya mavuta meranda y’ukurobanuza+ na ya mibavu imota neza+, itavanze, bikozwe n’umuhinguzi w’amavuta manovu.

38 Hanyuma akora ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa, mu giti c’umunyinya. Uburebure bwaco bwari amatambwe atanu, ubwaguke bwaco amatambwe atanu, kikaba ikwadarato, amahagarara yaco akaba amatambwe atatu+. 2 Maze akora amahembe yaco+ ku mfuruka zaco zine. Amahembe yaco yava muri co. Araheza agihomekako umujumpu+. 3 Inyuma y’ivyo akora ibikoresho vyose vya nya gicaniro, ibigopo n’ibiyozo n’ibibakure, amakanya n’ibijamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose yabikoze mu mujumpu+. 4 Akorera kandi nya gicaniro akayungiro k’umujumpu kameze nk’urusenga, munsi y’agakikuzo kaco, hasi amaja hagati na hagati yaco+. 5 Maze akora ibigōmbo bine mu cuma gishongeshejwe, kuri za mpera zine hafi ya ka kayungiro k’umujumpu, biba ivyo gufata ya miniho. 6 Inyuma y’ivyo akora nya miniho y’igiti c’umunyinya, ayihomekako umujumpu+. 7 Maze ashira nya miniho muri vya bigōmbo ku mpande za ca gicaniro ku bwo kuyikireruza+. Akigira isandugu irangaye y’imbaho+.

8 Maze akora ca kibesani c’umujumpu+ n’igitereko caco c’umujumpu, akoresheje ivyirore vy’abagore b’abasukukazi bakora igikorwa gitunganijwe, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+.

9 Hanyuma atangura gukora ca kigo+. Ku bw’uruhande ruraba i Negebu, amaja mu bumanuko, ibitambara bimanikwa vya nya kigo vyari ivy’ilino nziza ihinzwe, bikagira amatambwe ijana+. 10 Inkingi mirongo ibiri zavyo n’ivyicaro binogoye mirongo ibiri vyazo vyari ivy’umujumpu. Utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo vyari ivy’ifeza+. 11 Vyongeye, ku bw’uruhande rwo mu buraruko hari amatambwe ijana. Inkingi mirongo ibiri zavyo n’ivyicaro binogoye vyazo mirongo ibiri vyari ivy’umujumpu. Utumambo tw’izo nkingi n’ibifatanisho vyazo vyari ivy’ifeza+. 12 Mugabo ku bw’uruhande rwo mu burengero, ibitambara bimanikwa vyari ivy’amatambwe mirongo itanu. Inkingi zavyo zari cumi, ivyicaro binogoye vyazo na vyo cumi+. Utumambo twa nya nkingi n’ibifatanisho vyazo vyari ivy’ifeza. 13 Kandi ku bw’uruhande rwo mu buseruko amaja i burasirazuba hari amatambwe mirongo itanu+. 14 Ibitambara bimanikwa vyari ivy’amatambwe cumi n’atanu kw’ibaba rimwe. Inkingi zavyo zari zitatu, ivyicaro binogoye vyazo na vyo bitatu+. 15 Kandi ku bw’irindi baba ry’irembo ry’ikigo, ku ruhande rwo hino no ku rwo hirya, ibitambara bimanikwa vyari ivy’amatambwe cumi n’atanu. Inkingi zavyo zari zitatu, ivyicaro binogoye vyazo na vyo bitatu+. 16 Ibitambara bimanikwa vyose vya nya kigo bigikikuje vyari ivy’ilino nziza ihinzwe. 17 Kandi ivyicaro binogoye vya nya nkingi vyari ivy’umujumpu. Utumambo twazo n’ibifatanisho vyazo vyari ivy’ifeza, hejuru ku masonga yazo hari hahometseko ifeza, kandi hari ivyungisho vy’ifeza ku bw’inkingi zose z’ikigo+.

18 Igikingirizo c’irembo ry’ikigo cari icajishwe n’umujishi, c’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza+ ihinzwe, kandi uburebure bwaco yari amatambwe mirongo ibiri, amahagarara yaco na yo uko cangana cose yari amatambwe atanu cokimwe n’ibitambara bimanikwa vya nya kigo+. 19 Inkingi zavyo zine n’ivyicaro binogoye vyazo bine vyari ivy’umujumpu. Utumambo twazo twari utw’ifeza, ku mitwe yazo hakaba hahometseko ifeza, ibifatanisho vyazo bikaba ivy’ifeza. 20 Kandi imambo zose za nya taberenakulo n’iza nya kigo kiyikikuje zari iz’umujumpu+.

21 Ibikurikira ni vyo bintu vyatondanujwe vy’itaberenakulo, ya taberenakulo y’Igishingantahe+, vyatondanujwe kw’itegeko rya Musa, kiba igikorwa c’Abalewi+ munsi y’uburongozi bwa Itamari+ mwene Aroni umuherezi. 22 Bezaleli+ mwene Uri, Uri mwene Huru, wo mu muryango wa Yuda akora ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose. 23 Kandi yari kumwe na Oholiyabu+ mwene Ahisamaki wo mu muryango wa Dani, umuhinguzi w’utugenegene akaba n’umudeshi n’umujishi w’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza.

24 Inzahabu zose zakoreshejwe kuri nya gikorwa, mu gikorwa cose c’ahantu heranda, zabaye inzahabu zitanzwe bwa shikanwa rizungagizwa+. Zanganye italanto mirongo ibiri n’icenda na shekeli+ amajana indwi na mirongo itatu hisunzwe shekeli y’ahantu heranda+. 25 Ifeza z’abanditswe bo muri nya koraniro zari italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo irindwi na zitanu hisunzwe shekeli y’ahantu heranda. 26 Ica kabiri ca shekeli umuntu yatanga cari ica kabiri ca shekeli hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, ku muntu wese yarengana aja mu bari banditswe kuva ku myaka mirongo ibiri y’amavuka no kuduga+, bashika ku bihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu+.

27 Italanto ijana z’ifeza ni zo zashongeshejwe zikorwamwo vya vyicaro binogoye vy’ahantu heranda na vya vyicaro binogoye vy’irido. Ivyicaro binogoye ijana vyanganye n’italanto ijana, italanto ku cicaro kinogoye+. 28 Za shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo irindwi na zitanu yazikozemwo utumambo twa za nkingi yongera azihomeka hejuru ku masonga yazo, araheza arazifatanya.

29 Umujumpu w’ishikanwa rizungagizwa zari italanto mirongo irindwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane. 30 Akoresheje ivyo, akora vya vyicaro binogoye vy’ubwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, ca gicaniro c’umujumpu na ka kayungiro kaco k’umujumpu, vya bikoresho vyose vy’igicaniro, 31 vya vyicaro binogoye vy’ikigo kihakikuje, vya vyicaro binogoye vy’irembo ry’ikigo, za mambo zose z’itaberenakulo hamwe na za mambo zose+ z’ikigo kihakikuje.

39 Muri za nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama+, bakora impuzu+ z’injishano zo kwambara mu gukora igikorwa c’ahantu heranda+. Nuko bakora za mpuzu nyeranda+ za Aroni, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

2 Akora rero ya efodi+ y’inzahabu, y’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe. 3 Maze bahondagura utubate tw’inzahabu, ducika amabati y’intimbatimba ntonto, yongera agegena inyuzi zo gusobekanga muri za nyuzi z’ubururu na bwa bwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura na ca gitambara c’ibara ry’agahama na ya lino nziza, bikozwe n’umudeshi+. 4 Bayikorera udutambara two ku rutugu badufatisha kuri yo. Yari ifatanijwe ku mpera zibiri zayo. 5 Kandi wa mukanda, uwari kuri yo ku bwo kuyitubika, wari ukozwe n’ibiyikoze nk’uko ihinguye: mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

6 Maze bakora ya mabuye ya onigisi+ ateye mu twicariro tw’inzahabu, asaruwe nk’udusaruro tw’ikidodo hisunzwe amazina ya bene Isirayeli+. 7 Nuko ayashira kuri twa dutambara two ku rutugu twa ya efodi bwa mabuye y’icibutso+ ku bwa bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yategetse Musa. 8 Maze akora ka kambarwa ko ku gikiriza+, agahinguwe n’umudeshi, nka kumwe efodi ihinguwe, mu nzahabu, mu nyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe+. 9 Kari ikwadarato iyo kazinzemwo kubiri. Bakora nya kambarwa ko ku gikiriza, iyo kazinzemwo kubiri kakangana n’itambwe ry’intoke mu burebure, no mu bwaguke itambwe ry’intoke+. 10 Maze bakuzuza imisitari ine y’amabuye. Umusitari wa mbere wari uw’ibuye ry’umutuku, irya topazi n’irya emerode+. 11 Umusitari wa kabiri+ na wo wari ibuye rya turukwazi, irya safiro+ n’irya yasipi+. 12 Umusitari wa gatatu+ na wo wari ibuye rya leshemu, irya agata n’irya ametisito. 13 Umusitari wa kane+ na wo wari ibuye rya kirisolito na onigisi+ na yade. Yari ashingagiye mu twicariro tw’inzahabu mu dutereko twayo. 14 Kandi nya mabuye yari ahwanye n’amazina ya bene Isirayeli. Yari cumi n’abiri nk’uko amazina yabo ari, asaruwe nk’udusaruro tw’ikidodo, rimwe ryose hisunzwe izina rijako, bigirwa kuri ya miryango cumi n’ibiri+.

15 Hanyuma batangura gukora iminyororo itsivye kuri ka kambarwa ko ku gikiriza, ikozwe bwa mugozi, mu nzahabu itavanze+. 16 Maze bakora utwicariro tubiri tw’inzahabu n’ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, baraheza babishira ku mpera zibiri za nya kambarwa+. 17 Inyuma y’ivyo bacisha nya migozi ibiri y’inzahabu muri vya bigōmbo bibiri ku mpera za nya kambarwa+. 18 Hanyuma bacisha impera zibiri za ya migozi ibiri muri twa twicariro tubiri. Maze badushira kuri twa dutambara two ku rutugu twa efodi, ku ruhande rwayo rw’imbere+. 19 Ubukurikira bakora ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, babishira ku mpera zibiri za ka kambarwa, ku mubari wako uri ku ruhande ruhererana na efodi amaja munsi+. 20 Maze bakora ibigōmbo bibiri vy’inzahabu, babishira kuri twa dutambara tubiri two ku rutugu twa efodi uvuye hepfo, ku ruhande rwayo rw’imbere, hafi y’aho ifatanirizwa, hejuru y’umukanda wa efodi+. 21 Amaherezo, bacishije mu bigōmbo vyako, babohera nya kambarwa ko ku gikiriza ku bigōmbo vya efodi hakoreshejwe akagozi k’ubururu, kugira kagume hejuru ya wa mukanda wa efodi kandi nya kambarwa ntigahave kava hejuru ya efodi, nk’uko Yehova yari yategetse Musa+.

22 Maze akora wa mwitero utagira amaboko+ wa efodi, uwuhinguwe n’umujishi w’impuzu, wose uba uw’inyuzi z’ubururu. 23 Izosi rya nya mwitero ryari hagati yawo, nk’izosi ry’ikoti y’ivyuma. Izosi ryawo ryari rifise umusozo urikikuje kugira ntutabuke+. 24 Maze bakora ku mubuga wa nya mwitero utagira amaboko amakomamanga y’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama, bihingiye hamwe+. 25 Vyongeye, bakora udukengeri tw’inzahabu itavanze, badushira hagati y’amakomamanga+, tuzunguruka umubuga wa nya mwitero utagira amaboko, tuza turarobeka nya makomamanga; 26 agakengeri be n’ikomamanga, agakengeri be n’ikomamanga, bizunguruka umubuga wa nya mwitero utagira amaboko+, ku bwo gukora igikorwa, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

27 Ubukurikira bakorera Aroni n’abahungu biwe amakanzu y’ilino nziza+, ayahinguwe n’umujishi w’impuzu, 28 na ca gitambara co mu mutwe+ c’ilino nziza, na twa twambarwa two mu mutwe+ tw’ugushariza tw’ilino nziza, na ya mabutura y’ilino+ akozwe mw’ilino nziza ihinzwe, 29 na ca gikenyezo+ c’ilino nziza ihinzwe be n’inyuzi z’ubururu n’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura n’igitambara c’ibara ry’agahama, bijishwe n’umujishi, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

30 Amaherezo bakora ka kabate gaca ibibatsi, ca kimenyetso ceranda c’iyegurwa, mu nzahabu itavanze, baraheza bandika kuri ko ivyandiko bimeze nk’udusaruro tw’ikidodo ngo: “Ubweranda ni ubwa Yehova+.” 31 Maze bagashirako akagozi k’inyuzi z’ubururu kugira bagashire hejuru kuri ca gitambara co mu mutwe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

32 Nuko igikorwa ca ya taberenakulo y’ihema ry’ihuriro cose kirarangira, kuko bene Isirayeli bagumye bakora bisunze ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose+. Bakora kuno nyene.

33 Hanyuma batangura kuzanira Musa ya taberenakulo+, rya hema+ n’ibikoresho vyaryo vyose+, ingobe zaryo+, ibizingiti vyaryo+, ibihindizo vyaryo+ n’inkingi zaryo be n’ivyicaro binogoye vyaryo+, 34 n’igipfukisho caryo c’inshato z’impfizi y’intama zizize+ ibara ritukura n’igipfukisho caryo c’inshato z’ivyogaruzi+ n’irido ya ca gikingirizo+, 35 na ya sandugu+ y’igishingantahe n’iminiho yayo+ na wa murumyo+, 36 ya meza+, ibikoresho vyayo vyose+ na ya mikate yerekanwa, 37 ca gitereko c’amatara+ c’inzahabu itavanze, amatara yaco, umusitari w’amatara+, n’ibikoresho vyaco vyose+ na ya mavuta yo gutanga umuco+, 38 na ca gicaniro+ c’inzahabu, na ya mavuta y’ukurobanuza+, na ya mibavu imota neza+, na ca gikingirizo+ c’ubwinjiriro bw’ihema, 39 ca gicaniro+ c’umujumpu na ka kayungiro+ kaco k’umujumpu, iminiho yaco+ n’ibikoresho vyaco vyose+, ca kibesani+ n’igitereko caco+, 40 vya bitambara bimanitse+ vy’ikigo, inkingi zaco+ n’ivyicaro binogoye vyazo+ na ca gikingirizo+ c’irembo ry’ikigo, imigozi yaco y’ihema+ n’imambo zaco+ n’ibikoresho vyose+ ku bw’igikorwa c’itaberenakulo, ku bw’ihema ry’ihuriro, 41 za mpuzu+ z’injishano zo kwambara mu gukora aheranda, za mpuzu nyeranda+ za Aroni umuherezi na za mpuzu z’abahungu biwe zo kwambara mu gukora bwa baherezi+.

42 Hisunzwe ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose, ni ko bene Isirayeli bakoze igikorwa cose+. 43 Musa abona nya gikorwa cose, kandi bari bagikoze nk’uko Yehova yari yategetse. Ukwo ni ko bari bakoze. Ku bw’ivyo rero Musa arabahezagira+.

40 Maze Yehova abarira Musa ati: 2 “Mu kwezi kwa mbere+, ku musi wa mbere wa nya kwezi, ubwirizwa gushinga ya taberenakulo y’ihema ry’ihuriro+. 3 Uze ushireyo ya sandugu y’igishingantahe+, uheze wugare inzira ishika kuri ya Sandugu ukoresheje ya rido+. 4 Uze uzane ya meza+ uheze utunganye ivyayo, uzane na ca gitereko c’amatara+, watse n’amatara yaco+. 5 Uze ushire ca gicaniro c’inzahabu c’imibavu+ imbere ya ya sandugu y’igishingantahe hanyuma ushire mu kibanza ca gikingirizo c’ubwinjiriro bw’iyo taberenakulo+.

6 “Kandi uze ushire ca gicaniro+ c’ishikanwa riturirwa imbere y’ubwinjiriro bw’itaberenakulo y’ihema ry’ihuriro, 7 wongere ushire ca kibesani hagati y’ihema ry’ihuriro na ca gicaniro, ugishiremwo amazi+. 8 Uze ushireho ikigo+ kihakikuje uheze ushireho ca gikingirizo+ c’irembo ry’ikigo. 9 Kandi uze utore ya mavuta y’ukurobanuza+ uheze uyarobanuze nya taberenakulo n’ibiri muri yo vyose+, uyeze be n’ibikoresho vyayo vyose, gutyo icike ikintu ceranda. 10 Uze uyarobanuze ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa be n’ibikoresho vyaco vyose, uceze+, gutyo gicike igicaniro ceranda rwose+. 11 Kandi uze uyarobanuze ca kibesani n’igitereko caco, uceze.

12 “Maze uze wegereze Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, uboze n’amazi+. 13 Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+ uheze umurobanuze amavuta+ wongere umweze, gutyo ankorere bwa muherezi. 14 Inyuma y’ivyo uzokwegereza hafi abahungu biwe uheze ubambike amakanzu+. 15 Uze ubarobanuze amavuta nk’uko wayarobanuje se+, gutyo bankorere bwa baherezi, kandi irobanurwa ryabo rize ribandanye kubabera ubuherezi gushika igihe kitagira urugero mu mayaruka yabo+.”

16 Musa akora yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse vyose+. Akora kuno nyene.

17 Nuko mu kwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri, ku musi wa mbere wa nya kwezi, ya taberenakulo irashingwa+. 18 Aho Musa atanguriye gushinga nya taberenakulo, atereka hasi ivyicaro binogoye vyayo+ yongera ashiraho ibizingiti vyayo+ araheza yinjizamwo ibihindizo vyayo+ yongera ashinga inkingi zayo+. 19 Maze asanza rya hema+ kuri ya taberenakulo, ashira ca gipfukisho+ c’ihema hejuru kuri yo, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

20 Inyuma y’ivyo atora ca Gishingantahe+, agishira muri ya Sandugu+, araheza ashira ya miniho+ kuri iyo Sandugu, ashira na wa murumyo+ hejuru kuri nya Sandugu+. 21 Maze yinjiza nya Sandugu mw’itaberenakulo araheza ashira ya rido+ y’igikingirizo mu kibanza hanyuma yugara inzira ishika kuri ya sandugu y’igishingantahe+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

22 Ubukurikira ashira ya meza+ mw’ihema ry’ihuriro ku ruhande rw’itaberenakulo amaja mu buraruko hanze y’irido, 23 hanyuma ayitondekako umurongo w’imikate+ imbere ya Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

24 Maze ashira ca gitereko c’amatara+ mw’ihema ry’ihuriro imbere ya ya meza, ku ruhande rw’itaberenakulo amaja mu bumanuko. 25 Maze yatsa ya matara+ imbere ya Yehova, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

26 Ubukurikira ashira ca gicaniro+ c’inzahabu mw’ihema ry’ihuriro imbere y’irido, 27 kugira afumbishe umwotsi imibavu imota neza kuri co+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

28 Amaherezo ashira mu kibanza ca gikingirizo+ c’ubwinjiriro bw’itaberenakulo.

29 Hanyuma ashira ca gicaniro+ c’ishikanwa riturirwa ku bwinjiriro bw’itaberenakulo y’ihema ry’ihuriro, kugira ashikanire kuri co ishikanwa riturirwa+ be n’ishikanwa ry’intete, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

30 Maze ashira ca kibesani hagati y’ihema ry’ihuriro na ca gicaniro hanyuma ashira amazi muri nya kibesani ku bwo gukaraba+. 31 Musa na Aroni n’abahungu biwe baraheza bakaraba kuri co ku maboko no ku birenge. 32 Iyo bagiye mw’ihema ry’ihuriro n’iyo bagiye kwegera ca gicaniro barakaraba+, nk’uko Yehova yari yategetse Musa.

33 Amaherezo ashinga ca kigo+, gikikuza ya taberenakulo na ca gicaniro, yongera ashiraho ca gikingirizo c’irembo ry’ikigo+.

Nuko Musa arangiza nya gikorwa. 34 Hanyuma igicu+ gitangura gupfuka rya hema ry’ihuriro, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bwuzura nya taberenakulo. 35 Kandi Musa ntiyashoboye kwinjira muri nya hema ry’ihuriro, kuko nya gicu+ cari hejuru yaryo, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bukaba bwari bwuzuye itaberenakulo+.

36 Kandi iyo nya gicu cidugije kikava hejuru y’itaberenakulo, bene Isirayeli baca basambura ikambi mu ntambwe zose bagize z’urugendo+. 37 Ariko iyo nya gicu kitidugije ntibasambura ikambi, gushika umusi cidugije+. 38 Kuko igicu ca Yehova caba kiri hejuru y’itaberenakulo ku murango, umuriro na wo ukaguma kuri yo mw’ijoro mu maso y’inzu yose ya Isirayeli mu ntambwe zose bagize z’urugendo+.

Ijambo ku rindi ni “bavuye mw’imerero ry’itako rya Yakobo.”

Ashobora kuba yari amabuyi canke amatafari abiri umuvyeyi yicarako mu kwibaruka.

Yari amezi aharurirwa ku mboneko.

Canke, “amasandali.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “kwera nka shelegi.” “Shelegi” ni ibintu vy’ibivunjivunji vyera cane bigwa nk’imvura.

Canke, “utume biciye ku kuboko kw’uwo ugiye gutuma.”

Ni agashato ko kw’isonga ry’igihimba c’irondoka c’umugabo.

Bwari ubwoko bw’agakoko gatoyi kameze nk’umubu kari kamenyerewe mu Misiri.

Raba Inyongera ya 21.

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.

Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bwarimwa mu Misiri ha kera.

Canke, “bakurikira intambuko zawe.”

Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.

Canke, “amasandali.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “mwitorere intama n’impene.”

Iyo mvugo isobanura ko basohotse biyumva, bihaya inkomezi, bigina intsinzi.

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”

Ijambo ku rindi ni “mu mutima w’ikiyaga.”

Ni icuma c’isǎsu (plomb).

Ijambo ku rindi ni “abashehe.” Ijambo ry’igiheburayo bihuye rivuye kw’itsitso risobanura “igihumbi,” rikaba risobanura “indongozi y’igihumbi.”

Mara bisobanura ngo “umururazi.”

Raba Inyongera ya 21.

Biboneka ko yari isandugu yakoreshwa nk’ubushinguro bwo kubika neza inzandiko zihambaye.

Efa yari ingero ingana n’amalitiro 22.

Meriba bisobanura ngo “gutongana; amatati; ibihari.”

Raba Inyongera ya 21.

“Ya” ni impfunyapfunyo y’izina “Yehova.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”

Ni iry’agakoko kitwa kosheniye.

Ni ivyogaruzi vyitwa amafoke (phoques).

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “ububani.”

Biboneka ko cari icambarwa kimeze nk’itaburiya kigizwe n’igihimba c’imbere n’ic’inyuma.

Raba Inyongera ya 21.

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “udutafari.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ayo maguru avugwa ni ibice vyayo vyo hepfo.

Raba Inyongera ya 21.

Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.

Ingero ya hini yangana n’amalitiro 3,67.

Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Ni nka cm 44,5.

Ingero ya gera yangana n’amagarama 0,57.

Raba Inyongera ya 21.

Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.

Natafu ni ibintu bimota bijojota biva ku biti.

Ijambo ku rindi ni “kworosha mu maso ha.”

Ijambo ku rindi ni “Ntugakerere.”

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika