Gusubira mu vyagezwe
1 Aya ni yo majambo Musa yabwiye Isirayeli yose mu karere ka Yorodani+ mu gahinga, mu biyaya vy’ubugaragwa imbere ya Sufi, hagati ya Parani+ na Tofeli na Labani na Hazeroti+ na Dizahabu, 2 hakaba hari urugendo rw’imisi cumi n’umwe uvuye i Horebu ukajana inzira y’umusozi Seyiri ija i Kadeshi-baruneya+. 3 Hanyuma mu mwaka ugira mirongo ine+, mu kwezi kugira icumi na rimwe, ku musi wa mbere wa nya kwezi, Musa avugana na bene Isirayeli yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse kubashikiriza vyose, 4 inyuma y’aho atsindiye Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni, na Ogi+ umwami wa Bashani, uwaba i Ashitaroti+, muri Edireyi+. 5 Musa atangura gusigura iri tegeko+ mu karere ka Yorodani, mu gihugu ca Mowabu, ati:
6 “Yehova Imana yacu yavuganye natwe i Horebu+ ati: ‘Mwarabaye igihe kirekire bihagije muri aka karere k’imisozi+. 7 Hindukire mufate inzira, mwinjire mu karere k’imisozi k’Abamori+ no mu babanyi babo bose i Araba+, akarere k’imisozi+ na Shefela* na Negebu+ n’inkengera y’ikiyaga+, igihugu c’Abanyakanani+, na Libani+, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+. 8 Raba, nshize koko ico gihugu imbere yanyu. Nimwinjire mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ba so, akarahira Aburahamu, Izahaki+ na Yakobo+, ko azokibaha bo hamwe n’uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+.’
9 “Ico gihe nyene nababwiye nti: ‘Sinshoboye kubikorera jenyene+. 10 Yehova Imana yanyu yarabagwije, none ehe uno musi muri nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+. 11 Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu abongereze+ incuro igihumbi kuruta uko muri, kandi abahezagire+ nk’uko yabasezeraniye+. 12 Noshobora nte kubikorera jenyene n’ingene muri umuzigo be n’ingene muri umutwaro, nkikorera n’imitongano yanyu+? 13 Nimurondere abagabo b’inkerebutsi, b’ubwenge+ kandi bazi utuntu n’utundi+ bo mu miryango yanyu, kugira ndabagire abakuru banyu+.’ 14 Maze munyishura muti: ‘Ikintu uvuze ngo dukore ni ciza.’ 15 Nuko mfata abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inkerebutsi kandi bazi utuntu n’utundi, ndabagira abakuru banyu: abakuru b’ibihumbi, n’abakuru b’amajana, n’abakuru ba mirongo itanitanu, n’abakuru b’amacumi, n’abarongozi b’imiryango yanyu+.
16 “Ico gihe nyene ntegeka abacamanza banyu nti: ‘Igihe mwumviriza urubanza hagati ya bene wanyu, mutegerezwa guca urubanza mu bugororotsi+ hagati y’umuntu na mwene wabo, canke kavamahanga wiwe+. 17 Ntimuze mugire nkunzi mu rubanza+. Muze mwumvirize umutoyi cokimwe n’uwuhambaye+. Ntimuze muterwe ubwoba n’umuntu+, kuko urubanza ari urw’Imana+. Urubanza rubagumiye cane, muze murunshikirize, ndarwumvirize+.’ 18 Ico gihe nyene ntangura kubategeka ibintu vyose mukwiye gukora.
19 “Maze tuva i Horebu, turagenda duca muri ako gahinga kose kanini kandi gateye ubwoba+, ako mwabonye, tujanye inzira y’akarere k’imisozi k’Abamori+, nk’uko Yehova Imana yacu yari yadutegetse, turateba dushika i Kadeshi-baruneya+. 20 Ndaheza ndababwira nti: ‘Murashitse mu karere k’imisozi k’Abamori, ako Yehova Imana yacu agira aduhe+. 21 Raba, Yehova Imana yawe yagabuye ico gihugu mu maboko yawe+. Duga, ucigarurire, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.’
22 “Ariko mwese mwaciye mwegera aho ndi, muti: ‘Reka dutume abagabo batugenda imbere, kugira batugendurire ico gihugu baheze batuzanire amakuru ku vyerekeye inzira dukwiye kudugana n’ibisagara tuzoshikiramwo+.’ 23 Nuko, ico kintu kiba ciza mu maso yanje, ku buryo ntora abagabo cumi na babiri muri mwebwe, umwe ku muryango wose+. 24 Maze barahindukira, baduga mu karere k’imisozi+, bashika no mu mwonga wa Eshikoli+, baragitata. 25 Nuko batora mu kuboko kwabo ku vyama muri nya gihugu+ barabitumanukanira, kandi baza batugarukaniye amakuru, bati: ‘Igihugu Yehova Imana yacu agira aduhe ni ciza+.’ 26 Mugabo ntimwashaka kuduga+, muca mutangura kugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. 27 Muguma mwidogera mu mahema yanyu ngo: ‘Kubera Yehova atwanka+ ni co catumye adukura mu gihugu ca Misiri+ kugira adutange mu kuboko kw’Abamori, kugira atuzimanganye+. 28 Tuduga tuja hehe? Bene wacu batumye umutima wacu ushonga+, mu kuvuga ngo: “Twabonyeyo abantu bakomeye kandi barebare kuturuta+, ibisagara bininibinini kandi bikingijwe ibihome gushika mu majuru+, be n’abana b’Abanakimu+.”’
29 “Ni kwo kubabwira nti: ‘Ntimuranduke umutima canke ngo mutinye kubera bo+. 30 Yehova Imana yanyu ni we agendera imbere yanyu. Azobarwanira+ yisunze ivyo yagiranye namwe vyose mu Misiri mu maso yanyu bwite+, 31 no mu gahinga+, aho wiboneye ingene Yehova Imana yawe aguterura+ nk’uko umuntu aterura umwana wiwe, mu nzira yose wagenze gushika ushitse aha hantu+.’ 32 Mugabo no kuri iryo jambo, ntimwizeye Yehova Imana yanyu+, 33 uwariko agendera imbere yanyu mu nzira ngo atate aho mukambika+, akabagendera imbere biciye ku muriro mw’ijoro kugira mubone inzira mucamwo, ku murango na ho biciye ku gicu+.
34 “Ico gihe cose Yehova yarumvise ijwi ry’amajambo yanyu. Nuko ararakara, ararahira+ ati: 35 ‘Nta n’umwe muri aba bagabo b’iri yaruka ribi azogenda abonye ca gihugu ciza narahira ko nzoha ba so+, 36 kiretse Kalebu mwene Yefune+. We azokibona, kandi we n’abahungu biwe nzobaha igihugu yahonyojeko ikirenge, kuko yakurikiye Yehova bimwe bishitse+. 37 (Mbere na jewe Yehova yarandurumbiye ishavu kubera mwebwe, ati: ‘Na wewe nyene ntuzokwinjirayo+. 38 Yosuwa mwene Nuni, uwuhagaze imbere yawe, ni we azokwinjirayo+.’ Uyo yaramukomeje+, kuko azotuma Isirayeli igitorana.) 39 Abana banyu batoyi, abo mwavuze ngo: “Bazocika isahu+!” be n’abana banyu batazi ikibi canke iciza uno musi, abo ni bo bazokwinjirayo, kandi ni bo nzogiha, bacigarurire. 40 Nayo mwebwe ubwanyu, hindukira mugende mu gahinga mujanye inzira y’ikiyaga Gitukura+.’
41 “Muraheza murishura, mumbwira muti: ‘Twacumuye kuri Yehova+. Twebwe ubwacu tuzoduga turwane twisunze ivyo Yehova Imana yacu yadutegetse vyose!’ Nuko murakenyera, umwe wese ibirwanisho vyiwe vy’intambara, maze mubona ko ari icoroshe kuduga ku musozi+. 42 Mugabo Yehova ambwira ati: ‘Babwire uti: “Ntimuduge ngo murwane, kuko ntari hagati yanyu+, ntimuhave mutsindwa imbere y’abansi banyu+.”’ 43 Nuko ndababwira, ntimwumviriza, mugabo mutangura kugarariza+ itegeko rya Yehova no kurungura bimwe bibi, mugerageza kuduga ku musozi+. 44 Maze Abamori baba kuri nya musozi barasohoka guhura namwe, barabakinagiza+, nka kurya nyene inzuki zigira, barabashwiragiza i Seyiri gushika i Horuma+. 45 Inyuma y’ivyo muragaruka, mutangura kuririra imbere ya Yehova, mugabo Yehova ntiyumviriza ijwi ryanyu+, canke ngo abatege ugutwi+. 46 Nuko muguma muba i Kadeshi imisi myinshi, irya nyene mwabayeyo+.
2 “Maze turahindukira tugenda tugana mu gahinga tujanye inzira y’ikiyaga Gitukura, nk’uko Yehova yari yambariye+; kandi twamaze imisi myinshi tuzunguruka umusozi Seyiri. 2 Yehova arateba ambwira ati: 3 ‘Mwarazungurutse uyu musozi igihe kirekire bihagije+. Hindukire mwerekeze mu buraruko. 4 Kandi tegeka abantu uti: “Mugira muce hafi y’umupaka wa bene wanyu+, bene Esawu+, baba i Seyiri+. Bazogira ubwoba kubera mwebwe+, namwe mutegerezwa kuba maso cane. 5 Ntimushihane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo n’akangana n’ubwaguke bw’ubworo bw’ikirenge; kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo awiganzire+. 6 Ibifungurwa muzogura amahera kuri bo ni vyo muzorya; kandi amazi muzogura amahera kuri bo ni yo muzonywa+. 7 Kuko Yehova Imana yawe yaguhezagiye mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+. Arazi neza igenda ryawe muri aka gahinga kanini. Iyi myaka mirongo ine+ Yehova Imana yawe yarabanye nawe. Nta kintu wabuze+.”’ 8 Nuko duca kure ya bene wacu, bene Esawu+, ababa i Seyiri, kure y’inzira ya Araba+, kure ya Elati na kure ya Eziyoni-geberi+.
“Hanyuma turahindukira turengana duciye mu nzira y’agahinga ka Mowabu+. 9 Yehova maze ambwira ati: ‘Ntusindire Mowabu canke ngo uje mu ntambara na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ciwe, kuko Ari+ nayihaye bene Loti+ ngo bayiganzire. 10 (Abemimu+ kera baba muri co, ari igisata gikomeye, c’abantu benshi kandi barebare nk’Abanakimu+. 11 Nayo Abarefayimu+, na bo nyene babonwa nk’Abanakimu+, kandi Abanyamowabu bahora babita Emimu. 12 Abahori+ na bo kera baba i Seyiri, hanyuma bene Esawu+ barabomora, barabazimanganya imbere yabo baraheza baba ahantu habo+, nk’uko Isirayeli itegerezwa kugirira igihugu yiganzira, ico Yehova azobaha ata gukeka.) 13 Ubu rero nimuhaguruke mufate inzira mujabuke umwonga wa Zeredi.’ Nuko turagenda tujabuka umwonga wa Zeredi+. 14 Kandi imisi twagenze kuva i Kadeshi-baruneya gushika tujabutse umwonga wa Zeredi yabaye imyaka mirongo itatu n’umunani, gushika iyaruka ryose ry’abarwanyi rimaze kurangira mw’ikambi, nk’uko Yehova yari yarabarahiye+. 15 Mbere n’ukuboko+ kwa Yehova nyene kwari kuri bo kugira kubadurumbanye hagati mw’ikambi, gushika barangiye+.
16 “Hanyuma abarwanyi bose bakimara gupfa bakarangira hagati mu bantu+, 17 Yehova yongera kumbwira ati: 18 ‘Uno musi ugira uce mu karere ka Mowabu, ari ko Ari+, 19 kandi utegerezwa kwegera gushika imbere ya bene Amoni. Ntubasindire canke ngo ushihane na bo, kuko ata na gatoyi nzoguha ngo wiganzire ku gihugu ca bene Amoni, kuko nagihaye bene Loti ngo baciganzire+. 20 Cahora kandi kibonwa nk’igihugu c’Abarefayimu+. (Abarefayimu kera baba muri co, kandi Abamoni bahora babita Zamuzumimu. 21 Bari igisata gikomeye, c’abantu benshi kandi barebare nk’Abanakimu+; hanyuma Yehova arabazimanganya+ imbere yabo, ngo bitume babomora maze babe ahantu habo; 22 nk’uko yagiriye bene Esawu, ababa i Seyiri+, igihe yazimanganya Abahori+ imbere yabo, ngo bitume babomora maze babe ahantu habo gushika uyu musi. 23 Nayo Abavimu+, abahora baba mu mihana irundanye gushika i Gaza+, Abakafutorimu+, abavuye kuri Kafutori+, barabazimanganije, kugira babe ahantu habo.)
24 “‘Nimuhaguruke, mugende mujabuke umwonga wa Arunoni+. Raba, ntanze mu kuboko kwawe Sihoni+ umwami wa Heshiboni, Umwamori. Tangura rero kwigarurira igihugu ciwe, uje mu ntambara na we. 25 Uyu musi ngira ntangure gutuma ibisata vy’abantu vyo munsi y’amajuru yose bizokwumva inkuru yawe bikugirira ubwoba, bigutinye. Kandi bazohagarika umutima koko, bagire ububabare nka burya bw’ukwibaruka, kubera wewe+.’
26 “Maze turi mu gahinga ka Kedemoti+ ntuma intumwa kuri Sihoni+ umwami wa Heshiboni, zijanye amajambo y’amahoro+, nti: 27 ‘Ndeka ndengane nciye mu gihugu cawe. Mu nzira gusa ni ho nzogendera. Sinzokebereza iburyo canke ibubamfu+. 28 Ibifungurwa uzongurishako ku mahera ni vyo nzorya, n’amazi uzompa ku mahera ni yo nzonywa. Ndeka gusa nirenganire n’amaguru yanje+, 29 nk’uko bene Esawu baba i Seyiri+ n’Abanyamowabu+ baba i Ari bangiriye, gushika njabutse Yorodani nkinjira mu gihugu Yehova Imana yacu agira aduhe+.’ 30 Kandi Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyaturetse ngo turengane duciye iwe, kuko Yehova Imana yawe yari yaretse impwemu yiwe igacika intabarirwa+, n’umutima wiwe ukagumarara, kugira amutange mu kuboko kwawe nk’uko biri kuri uyu musi+.
31 “Kuri ivyo Yehova ambwira ati: ‘Raba, ntanguye kugabura Sihoni n’igihugu ciwe mu maboko yawe. Tangura kwigarurira igihugu ciwe+.’ 32 Aho Sihoni asohokeye n’abantu biwe bose guhura natwe mu rugamba i Yahazi+, 33 Yehova Imana yacu yaciye amugabura mu maboko yacu+, ku buryo tumutsinda+ n’abahungu biwe n’abantu biwe bose. 34 Hanyuma dufata ibisagara vyiwe vyose ico gihe nyene, dutikiza+ igisagara cose, abagabo n’abagore n’abana batoyi. Nta n’umwe twasigaje. 35 Ibitungwa gusa ni vyo twatwaye bwa sahu ryacu, hamwe n’iminyago yo mu bisagara twari twafashe+. 36 Kuva i Aroweri+, ahaherereye iruhande y’inkombe y’umwonga wa Arunoni, be n’igisagara kiri mu mwonga, gushika i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catubereye kirekire birenze+. Yehova Imana yacu yarabigabuye vyose mu maboko yacu. 37 Gusa, ntiwegereye igihugu ca bene Amoni+, inkombe yose y’umwonga wa Yaboki+, canke ibisagara vy’akarere k’imisozi, canke ikintu cose Yehova Imana yacu yari yatanzeko itegeko.
3 “Maze turahindukira, tudugana inzira ya Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca arasohoka, we hamwe n’abantu biwe bose, aza guhura natwe mu rugamba i Edireyi+. 2 Yehova ni ko kumbwira ati: ‘Ntumutinye+, kuko ntazobura kumutanga mu kuboko kwawe, we n’abantu biwe bose n’igihugu ciwe; uze umugirire nk’uko wagiriye Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni.’ 3 Nuko Yehova Imana yacu atanga mu kuboko kwacu na Ogi nyene umwami wa Bashani n’abantu biwe bose, tuguma tubasasika gushika n’aho atagira n’umwe asigara acitse kw’icumu+. 4 Ico gihe nyene dufata ibisagara vyiwe vyose. Nta gisagara na kimwe tutabatse: ibisagara mirongo itandatu+, akarere kose ka Arugobu+, ubwami bwa Ogi i Bashani+. 5 Ivyo vyose vyari ibisagara bikingijwe ibihome birebire, imiryango n’ibihindizo, uretse ibisagara vyinshi cane vyo hagati mu gihugu. 6 Ariko twarabitikije+ nk’uko twari twagiriye Sihoni umwami wa Heshiboni, mu gutikiza ibisagara vyose, abagabo, abagore n’abana batoyi+. 7 Kandi ibitungwa vyose be n’iminyago yo mu bisagara twarabitwaye bwa sahu ryacu+.
8 “Ico gihe nyene dukura igihugu mu kuboko kwa ba bami babiri batwara Abamori+ bari mu karere ka Yorodani, kuva ku mwonga wa Arunoni+ gushika ku musozi Herumoni+; 9 (Abanyasidoni bahora bita Herumoni Siriyoni+, Abamori na bo bakahita Seniri+,) 10 ibisagara vyose vyo mu matāba na Gileyadi yose na Bashani yose gushika i Saleka+ n’i Edireyi+, ibisagara vy’ubwami bwa Ogi i Bashani. 11 Kuko Ogi, umwami wa Bashani, ari we gusa yasigaye mu masigarira y’Abarefayimu+. Mbere inderuzo yiwe yari iy’icuma. Mbega ntiri i Raba+ ha bene Amoni? Uburebure bwayo ni amatambwe* icenda, ubwaguke bwayo na bwo amatambwe ane, kw’itambwe ry’umugabo. 12 Nuko ico gihe nyene twigarurira iki gihugu. Kuva i Aroweri+, ahari iruhande y’umwonga wa Arunoni, n’ica kabiri c’akarere k’imisozi ka Gileyadi, n’ibisagara vyaho, nahahaye Abarubeni n’Abagadi+. 13 Maze ahasigaye kuri Gileyadi+ na Bashani+ yose y’ubwami bwa Ogi ndahaha igice c’umuryango wa Manase. Akarere kose ka Arugobu+ h’i Bashani hose, mbega ntikitwa igihugu c’Abarefayimu+?
14 “Yayiri+ mwene Manase afata akarere kose ka Arugobu+ gushika ku rubibe rw’Abageshuri+ n’Abamayakati+, hanyuma ivyo bigwati vya Bashani avyita Havoti-yayiri+ afatiye kw’izina ryiwe, gushika n’uyu musi. 15 Makiri+ na we namuhaye Gileyadi+. 16 Abarubeni+ n’Abagadi na bo nabahaye kuva i Gileyadi+ gushika ku mwonga wa Arunoni, hagati na hagati mu mwonga hakaba ari rwo rubibe, no gushika i Yaboki, umwonga w’urubibe rwa bene Amoni+; 17 na Araba na Yorodani n’umupaka, kuva i Kinereti+ gushika ku kiyaga co muri Araba, ikiyaga c’Umunyu+, ku mucamo w’imimanuko ya Pisiga+ amaja i burasirazuba.
18 “Nuko ico gihe nyene ndabategeka, nti: ‘Yehova Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mucigarurire. Muzojabuka imbere ya bene wanyu, bene Isirayeli, mufise ibikoresho bikwiye, mwese abagabo b’intwari+. 19 Abagore banyu n’abana banyu batoyi n’ibitungwa vyanyu gusa (ndazi neza ko mufise ibitungwa vyinshi) ni vyo bizoguma biba mu bisagara vyanyu nabahaye+, 20 gushika Yehova ahaye bene wanyu akaruhuko, na mwebwe nyene, emwe, gushika na bo nyene bamaze kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe hakurya ya Yorodani. Inyuma y’ivyo muzogaruka, umwe wese ahantu hiwe yiganzira, aho nabahaye+.’
21 “Hanyuma ico gihe nyene ntegeka Yosuwa+, nti: ‘Amaso yawe aribonera ibintu vyose Yehova Imana yanyu yagiriye abo bami babiri. Ukwo nyene ni ko Yehova azogirira ubwami bwose uriko urajabuka ujamwo hariya+. 22 Ntimubatinye, kuko Yehova Imana yanyu ari We abarwanira+.’
23 “Maze ico gihe nyene ndatakamba nsaba ubutoni kuri Yehova, nti: 24 ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, wewe ubwawe ni we watanguye kwereka umusavyi wawe ubukuru bwawe+ n’ukuboko kwawe+ gukomeye, kuko, ni nde mana mu majuru canke kw’isi ikora ibikorwa nk’ivyawe n’ibikorwa vy’ubushobozi nk’ivyawe+? 25 Ndeka njabuke, ndakwinginze, mbone ico gihugu ciza+ kiri hakurya ya Yorodani, ako karere keza k’imisozi+ na Libani+.’ 26 Yehova abandanya kundakira kubera mwebwe+, ntiyanyumviriza. Mugabo Yehova ambwira ati: ‘Ivyawe biramaze! Ntihagire ico usubira kumbwira kuri ico kintu. 27 Duga kw’isonga rya Pisiga+ uraramurire amaso yawe mu burengero, no mu buraruko, no mu bumanuko, no mu buseruko, urabe n’amaso yawe, kuko utazojabuka uru ruzi Yorodani+. 28 Kandi shinga igikorwa+ Yosuwa, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka+ imbere y’aba bantu, kandi ni we azotuma batorana igihugu uza kubona+.’ 29 Ico gihe cose twaba mu mubande imbere ya Beti-peyori+.
4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe. 2 Ntimuze mugire ico mwongera kw’ijambo ndabategetse, eka ntimuze mugire n’ico mukura kuri ryo+, kugira ngo mugumye amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse.
3 “Amaso yanyu bwite yariboneye ivyo Yehova yakoze ku bijanye na Bayali y’i Peyori+, yuko umuntu wese yagendeye inyuma ya Bayali y’i Peyori ari we Yehova Imana yawe yazimanganije hagati muri wewe+. 4 Mugabo mwebwe abaguma bumiye+ kuri Yehova Imana yanyu, muri bazima mwese uno musi. 5 Raba, narabigishije ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+, nk’uko Yehova Imana yanje yantegetse, kugira ngo mukore gutyo hagati mu gihugu muriko murajamwo kugira mucigarurire. 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’ 7 Kuko, ni ihanga+ rikomeye irihe rifise imana hafi yaryo nk’uko Yehova Imana yacu ari igihe cose tumwambaje+? 8 Kandi ni ihanga rikomeye irihe rifise ingingo nyobozi zigororotse n’ingingo z’ubutungane nk’iri tegeko ryose ndiko nshira imbere yanyu uno musi+?
9 “Ariko wiyubare kandi wirinde rwose+ kugira ntiwibagire ibintu amaso yawe yiboneye+ no kugira ngo ntibive mu mutima wawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Kandi utegerezwa kubimenyesha abana bawe n’abuzukuru bawe+, 10 umusi wahagarara imbere ya Yehova Imana yawe i Horebu+, igihe Yehova yambwira ati: ‘Koraniriza abantu hamwe kuri jewe kugira ndabumvishe amajambo yanje+, kugira bige kuntinya+ imisi yose bazomara ari bazima ku butaka, no kugira bigishe abana babo+.’
11 “Nuko muregera hafi maze muhagarara ku mucamo w’umusozi, kandi umusozi wariko uraka umuriro gushika hagati mw’ijuru; hari umwiza, igicu n’umuzimagiza w’umuzitanya+. 12 Yehova atangura kuvugana namwe hagati mu muriro+. Ugusamīra kw’amajambo ni kwo mwumva, mugabo nta shusho+ mwabona, eka nta kindi atari ijwi+. 13 Hanyuma abamenyesha isezerano ryiwe+, iryo yabategetse gushitsa, ari yo ya Majambo Cumi+, inyuma y’ivyo ayandika ku bisate vy’amabuye bibiri+. 14 Ico gihe nyene Yehova ni jewe yategetse kubigisha ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane, kugira muzishitse, mu gihugu muriko murajabuka mujamwo ngo mucigarurire+.
15 “Kandi muze mwirinde rwose+, kuko ata shusho+ n’imwe mwabonye kuri wa musi Yehova yavugana namwe i Horebu hagati mu muriro, 16 kugira ntimwikwegere guhona+ kandi vy’ukuri ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikimenyetso ico ari co cose, ishusho y’ikintu c’igitsina-gabo canke c’igitsina-gore+, 17 ishusho y’igikoko ico ari co cose kiri mw’isi+, ishusho y’inyoni y’amababa iyo ari yo yose iguruka mu kirere+, 18 ishusho y’ikintu ico ari co cose kigendagenda ku butaka, ishusho y’ifi+ iyo ari yo yose iri mu mazi munsi y’isi; 19 no kugira ntuhave uraramurira amaso yawe mu majuru ukabona koko izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ingabo zose zo mu majuru, maze vy’ukuri ukaryosharyoshwa ukavyunamira, ukabikorera+, ivyo Yehova Imana yawe yagabanganirije ibisata vy’abantu vyose munsi y’amajuru iyo ava akagera+. 20 Mugabo ni mwebwe Yehova yatoye kugira abakure muri rya tanure rishongesha ivyuma+ ari ryo Misiri, kugira mumubere igisata ciharijwe+, nk’uko biri uyu musi.
21 “Kandi Yehova yarandurumbiye ishavu kubera mwebwe+, bituma arahira yuko ntogiye njabutse Yorodani canke ngo ninjire muri ca gihugu ciza Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa+. 22 Kuko jewe ngiye gupfira muri iki gihugu+. Sinzojabuka Yorodani, mugabo mwebwe muzojabuka, mwigarurire ico gihugu ciza. 23 Mwiyubare kugira ntimwibagire isezerano rya Yehova Imana yanyu yagiranye namwe+, no kugira ntimwihingurire igishusho c’ikibazano, ishusho y’ikintu ico ari co cose Yehova Imana yawe yaguhayeko itegeko+. 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+.
25 “Niwavyara abana ukagira n’abuzukuru kandi mukaba mumaze igihe kirekire muba muri ico gihugu, maze mukikwegera guhona+, mugahingura igishusho c’ikibazano+, ishusho y’ikintu ico ari co cose, mugakora ibibi mu maso ya Yehova Imana yawe+ kugira mumubabaze, 26 ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona uno musi vyo kubagiriza+, yuko mutazobura kuyogera ningoga mugahona muri ico gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucigarurire. Ntimuzorambira* kuri co, kuko mutazobura kuzimanganywa+. 27 Kandi Yehova ata gukeka azobasanzaza mu bisata vy’abantu+, kandi koko muzosigara muri inkehwa+ mu mahanga Yehova azobirukaniramwo. 28 Maze hiyo muzobwirizwa gukorera imana+ zakozwe n’amaboko y’umuntu, z’ibiti n’amabuye+, izidashobora kubona canke kwumva canke kurya canke kumoterwa+.
29 “Nimwarondera koko Yehova Imana yawe muri hiyo, ntuzobura rero kumuronka+, kuko uzobaza ivyiwe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+. 30 Igihe uzoba ugeze habi kandi aya majambo yose akaba yagushitseko ku mpera y’imisi, uzobwirizwa rero kugaruka kuri Yehova Imana yawe+ no kwumviriza ijwi ryiwe+. 31 Kuko Yehova Imana yawe ari Imana y’inyembabazi+. Ntazoguta canke ngo aguhonye canke ngo yibagire isezerano+ rya ba sogokuruza bawe, iryo yabarahiye.
32 “Ubu rero, ndakwinginze, nubaze ivyerekeye imisi ya kera+ y’imbere yawe, kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi+, no kuva ku mpera imwe y’amajuru gushika ku yindi: Hari ikintu na kimwe gikomeye cabaye kimeze nk’ico, canke ikintu cumvikanye kimeze nka co+? 33 Hari ikindi gisata cumvise ijwi ry’Imana rivugira hagati mu muriro, nk’uko ubwawe waryumvise, kikabandanya kubaho+? 34 Canke hari aho Imana yagerageje kuza gutora ihanga ngo iryizaneko irikuye hagati y’irindi hanga biciye ku bihinyuza+, ku bimenyetso+ no ku bitangaro+ no ku ntambara+ no ku kiganza gikomeye+ no ku kuboko kuramvuye+ no ku bubasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, nka bimwe vyose Yehova Imana yanyu yabakorera mu Misiri mu maso yawe? 35 Wewe ubwawe wareretswe, kugira umenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+; nta wundi ariho kiretse we+. 36 Yarakwumvishije ijwi ryiwe ari mu majuru kugira agukosore; kw’isi na ho yarakweretse umuriro wiwe ukomeye, kandi warumvise amajambo yiwe ava hagati mu muriro+.
37 “Yamara uracariho, kuko yakunze ba sogokuruza bawe ku buryo yatoranije uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+, akakuzana agukuye mu Misiri ijisho ryiwe riri kuri wewe, biciye ku bubasha bwiwe bukomeye+, 38 kugira yirukane amahanga ahambaye kandi akomeye kukuruta akava imbere yawe, kugira akwinjize, aguhe igihugu cabo bwa ntoranwa nk’uko biri uyu musi+. 39 Kandi urazi neza uno musi, kandi wibuke mu mutima wawe yuko Yehova ari we Mana y’ukuri mu majuru hejuru no kw’isi hasi+. Nta yindi iriho+. 40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.”
41 Ico gihe Musa atangura gushira ku ruhande ibisagara bitatu, ku ruhande rwa Yorodani amaja iyo izuba rirasira+, 42 kugira uwishe mugenziwe atabizi ahungireyo+, mu gihe atari asanzwe amwanka+; kandi aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara, abone kubaho+. 43 Na vyo ni ibi: Bezeri+ mu gahinga ku matāba, ku bw’Abarubeni; na Ramoti+ i Gileyadi ku bw’Abagadi; na Golani+ i Bashani ku bw’Abamanase+.
44 Iri rero ni ryo tegeko+ Musa yashize imbere ya bene Isirayeli. 45 Ibi ni vyo bishingantahe+ n’ingingo nyobozi+ be n’ingingo z’ubutungane+ Musa yabwiye bene Isirayeli igihe bava mu Misiri, 46 mu karere ka Yorodani mu mubande imbere ya Beti-peyori+, mu gihugu ca Sihoni umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni+, uwo Musa na bene Isirayeli batsinze igihe bava mu Misiri+. 47 Hanyuma bigarurira igihugu ciwe n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani, ba bami babiri batwara Abamori bari mu karere ka Yorodani amaja iyo izuba rirasira, 48 kuva i Aroweri+, iyiri ku nkombe y’umwonga wa Arunoni, gushika ku musozi Siyone, ni ukuvuga Herumoni+, 49 na Araba+ yose mu karere ka Yorodani amaja mu buseruko, no gushika ku kiyaga co muri Araba+ ku mucamo w’imimanuko ya Pisiga+.
5 Hanyuma Musa ahamagara Isirayeli yose+, ababwira ati: “Niwumve, ewe Isirayeli, ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane+ ndiko mvugira mu matwi yanyu uno musi, kandi mutegerezwa kuziga no kuba maso mukazishitsa+. 2 Yehova Imana yacu yagiranye natwe isezerano i Horebu+. 3 Yehova ntiyagiranye iri sezerano na ba sogokuruza bacu, mugabo yarigiranye natwe, twese abari ng’aha uno musi turi bazima. 4 Yehova yavuganye na mwebwe amaso mu yandi ku musozi, avugiye hagati mu muriro+. 5 Nari mpagaze hagati ya Yehova na mwebwe ico gihe nyene+, kugira ndababwire ijambo rya Yehova, (kuko mwari mwatinye kubera umuriro maze ntimwaduga ku musozi+,) nti:
6 “‘Ndi Yehova Imana yawe+ yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+. 7 Ntuze wigere ugira izindi mana izo ari zo zose unzana mu maso+.
8 “‘Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, imero iyo ari yo yose+ imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi. 9 Ntukavyunamire canke ngo wemere kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+; 10 mugabo nkagirira ubuntu bwuzuye urukundo iyaruka rigira igihumbi ku bankunda bakagumya amabwirizwa yanje+.
11 “‘Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana umuntu wese afata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+.
12 “‘Mu kwubahiriza umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda, nk’uko Yehova Imana yawe yagutegetse+, 13 uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu+. 14 Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe+, wewe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, canke umushumba wawe canke umushumbakazi wawe, canke ishūri yawe canke indogobwa yawe, canke igitungwa cawe ico ari co cose canke kavamahanga wawe ari mu marembo yawe+, kugira umushumba wawe n’umushumbakazi wawe baruhuke cokimwe nawe+. 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri+ maze Yehova Imana yawe akagukuzayo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato+.
16 “‘Tera iteka so na nyoko+, nk’uko Yehova Imana yawe yagutegetse, kugira ngo imisi yawe ibe myinshi kandi bikugendere neza+ ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe.
20 “‘Kandi ntugashingire intahe ikinyoma wagiriza mugenzawe+.
21 “‘Kandi ntukipfuze umugore wa mugenzawe+. Kandi ntugahahamire n’ubwikunzi inzu ya mugenzawe, itongo ryiwe canke umushumba wiwe canke umushumbakazi wiwe, ishūri yiwe canke indogobwa yiwe, canke ikintu cose ca mugenzawe+.’
22 “Ayo Majambo Yehova yayabwiye ishengero ryanyu ryose ku musozi hagati mu muriro+, mu gicu no mu muzimagiza w’umuzitanya, akoresheje ijwi rirenga, kandi nta co yongeyeko; inyuma y’ivyo ayandika ku bisate vy’amabuye bibiri, araheza arabimpa+.
23 “Mukimara kwumva ijwi rivuye hagati mu mwiza, mu gihe umusozi wariko uraka umuriro+, mwaciye mwegera hafi yanje, abakuru b’imiryango yanyu bose n’abagabo b’inararibonye banyu. 24 Maze muvuga muti: ‘Ehe Yehova Imana yacu yatweretse ubuninahazwa bwiwe n’ubukuru bwiwe, kandi twumvise ijwi ryiwe riva hagati mu muriro+. Uyu musi turabonye yuko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi vy’ukuri akabandanya kubaho+. 25 None ubu kubera iki twokwirirwa turapfa? Kuko uyu muriro ukomeye woshobora kutuyigiza+. Tukabandanya kwumva ijwi rya Yehova Imana yacu na gatoyi, turapfa nta gisivya+. 26 Kuko, ni nde mu biri n’umubiri vyose arumva ijwi ry’Imana nzima+ rivugira hagati mu muriro nk’uko twaryumvise yamara akabandanya kubaho? 27 Wewe ubwawe niwegere, wumve ivyo Yehova Imana yacu azoba yavuze vyose. Ni wewe uzotubwira ivyo Yehova Imana yacu azoba yakubwiye vyose+, natwe ntituzobura kuvyumviriza, tubikore.’
28 “Nuko Yehova yumva ijwi ry’amajambo yanyu igihe mwavugana nanje, hanyuma Yehova abandanya kumbwira ati: ‘Numvise ijwi ry’amajambo y’aba bantu, ayo bakubwiye. Bagize neza mu vyo bavuze vyose+. 29 Iyaba botsimbataje uyo mutima wabo bakantinya+ kandi bakagumya amabwirizwa yanje+ yose nantaryo, kugira ngo bibagendere neza n’abana babo gushika igihe kitagira urugero*+! 30 Genda ubabwire uti: “Subira i muhira ku mahema yanyu.” 31 Nawe hagarara ng’aha kumwe nanje, nkubwire ibwirizwa ryose n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane ukwiye kubigisha+, ari zo kandi bategerezwa gushitsa, mu gihugu ngira ndabahe ngo bacigarurire.’ 32 Kandi muze mwitwararike gukora nk’uko Yehova Imana yanyu yabategetse+. Ntimuze mukebereze iburyo canke ibubamfu+. 33 Mukwiye kugendera mu nzira yose Yehova Imana yanyu yabategetse+, kugira mubeho kandi mumererwe neza+, murambire* koko mu gihugu muzokwigarurira.
6 “Ibi rero ni vyo bwirizwa, ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane Yehova Imana yanyu yategetse kubigisha+, kugira mubishitse, mu gihugu muriko murajabuka mujamwo hariya ngo mucigarurire; 2 kugira utinye+ Yehova Imana yawe ngo ugumye ivyagezwe vyiwe vyose n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse, wewe n’umwana wawe n’umwuzukuru wawe+, imisi yose y’ubuzima bwawe, no kugira ngo imisi yawe ibe myinshi+. 3 Kandi utegerezwa kwumviriza, ewe Isirayeli, no kwitwararika kubikora+, kugira bikugendere neza+ no kugira mugwire cane, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yagusezeraniye+, ku bijanye na ca gihugu gitemba amata n’ubuki.
4 “Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+. 5 Kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose+ n’ubuzima bwawe bwose+ n’inguvu zawe zose+. 6 Kandi aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe+; 7 kandi uze uyashimangire mu mwana wawe+ wongere uyage ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe, n’igihe ugenda ku nzira, n’igihe uryamye+, n’igihe uvyutse. 8 Kandi uze uyabohere ku kuboko kwawe bwa kimenyetso+, kandi aze abe nk’agatengaruhanga hagati y’amaso yawe+; 9 kandi uze uyandike ku bishimaryango vy’inzu yawe no ku marembo yawe+.
10 “Yehova Imana yawe niyakuzana mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azokiguha+, ibisagara bikomeye kandi bisa neza utubatse+, 11 n’amazu yuzuye ibintu vyiza vyose atari wewe wujuje, n’amatangi akorogoshowe utakorogoshoye, imirima y’imizabibu n’ibiti vy’imyelayo utateye, ukamara kurya ugahaga+, 12 uriyubara ntiwibagire+ Yehova, uwagukuye mu gihugu ca Misiri mu nzu y’abashumba. 13 Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+, kandi ni we ukwiye gukorera+, kandi izina ryiwe ni ryo ukwiye kurahira+. 14 Ntimukagendere inyuma y’izindi mana, imana izo ari zo zose z’ibisata vy’abantu bibakikuje+, 15 (kuko Yehova Imana yawe, uwuri hagati yawe, ari Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+,) ngo ishavu rya Yehova Imana yawe ntirihave rikururumbira+, akakuzimanganya ku buringanire bw’ubutaka+.
16 “Ntimukageze Yehova Imana yanyu+, kumwe mwamugeza i Masa+. 17 Uko bigenda kwose, mukwiye kugumya amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+ n’ibishingantahe vyiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ yagutegetse+. 18 Kandi utegerezwa gukora ibigororotse, vyiza mu maso ya Yehova, kugira bikugendere neza+ ubone koko kwinjira no kwigarurira ca gihugu ciza Yehova yarahira ba sogokuruza bawe+, 19 mu guhinda abansi bawe bose bakava imbere yawe, nk’uko Yehova yasezeranye+.
20 “Umusi umwana wawe yokubaza muri kazoza+, ati: ‘Ibishingantahe n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane Yehova Imana yacu yagutegetse bisobanura iki?’, 21 uze umubwire rero uti: ‘Twarabaye abashumba ba Farawo mu Misiri, mugabo Yehova adukuzayo ikiganza gikomeye+. 22 Nuko Yehova abandanya gushira kuri Misiri, kuri Farawo no ku rugo rwiwe rwose ibimenyetso n’ibitangaro+ bikomeye kandi vy’ivyago, mu maso yacu+. 23 Hanyuma adukurayo kugira atuzane hano kuduha igihugu yari yararahiye ba sogokuruza bacu+. 24 Ku bw’ivyo, Yehova yadutegetse gushitsa izi ngingo nyobozi zose+, gutinya Yehova Imana yacu ku neza yacu nantaryo+, kugira tugume turi bazima nk’uko biri uyu musi+. 25 Kandi nitwitwararika gushitsa iri bwirizwa ryose imbere ya Yehova Imana yacu nk’uko yadutegetse+, bizosobanura ubugororotsi kuri twebwe+.’
7 “Yehova Imana yawe niyateba akakuzana mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+, azokuraho rero amahanga y’abantu benshi imbere yawe+, Abaheti+ n’Abagirugashi+ n’Abamori+ n’Abanyakanani+ n’Abaperizi+ n’Abahiwi+ n’Abayebusi+, amahanga indwi y’abantu benshi kukuruta kandi akomeye kukuruta+. 2 Kandi Yehova Imana yawe ntazobura kubagabura mu maboko yawe, kandi uzobatsinda koko+. Ukwiye kubatikiza ata kabuza+. Ntuze ugire isezerano ugirana na bo canke ngo ubagirire ubutoni na bukeyi+. 3 Ntuze wunge na bo ubucuti bw’ukwabirana. Umukobwa wawe ntuze umuhe umuhungu wiwe, n’umukobwa wiwe ntuze umusabire umuhungu wawe+. 4 Kuko azokevya umuhungu wawe akamubuza kunkurikira, kandi ntibazobura gukorera izindi mana+. Ishavu rya Yehova na ryo rizobarurumbira koko, kandi ntazobura kukuzimanganya ningoga+.
5 “Mugabo ibi ni vyo mukwiye kubagirira: Ibicaniro* vyabo mukwiye gusiturira hasi+, inkingi nyeranda zabo mugasenyura+, ibikingi vyeranda vyabo+ mukicira+, ibishusho vyabo bibajwe mugaturira n’umuriro+. 6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.
7 “Kuba Yehova yarabakunze ku buryo abatora, si uko ari mwe mwari benshi kuruta mu bisata vyose vy’abantu+, kuko ari mwe mwari bake kuruta mu bisata vyose+. 8 Ahubwo kubera ko Yehova abakunda+, no kubera ko agumya indahiro yari yararahiye ba sogokuruza banyu+, ni co catumye Yehova abakuzayo ikiganza gikomeye+, kugira ngo abacungure abakure mu nzu y’abashumba+, mu kuboko kwa Farawo umwami wa Misiri. 9 Kandi urazi neza yuko Yehova Imana yawe ari we Mana y’ukuri+, Imana y’inyizigirwa+, agumya isezerano+ be n’ubuntu bwuzuye urukundo ku bijanye n’abamukunda be n’abagumya amabwirizwa yiwe gushika ku mayaruka igihumbi+, 10 mugabo akishura amaso mu yandi uwumwanka, mu kumurandura+. Ntazogonanwa ku bijanye n’uwumwanka; azomwishura amaso mu yandi. 11 Kandi utegerezwa kugumya ibwirizwa n’ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane ndagutegetse uno musi, mu kubikora+.
12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+. 13 Kandi ata gukeka azogukunda, aguhezagire+, akugwize+ yongere ahezagire icamwa c’inda yawe+ n’icamwa c’ubutaka bwawe+, intete zawe n’umuvinyu wawe mushasha n’amavuta yawe, imitavu y’inka zawe n’uruvyaro rw’umukuku wawe+, ku butaka yarahiye ba sogokuruza bawe ko azoguha+. 14 Uzocika uwuhezagiwe mu bindi bisata vyose vy’abantu+. Muri wewe ntihazoba uw’igitsina-gabo canke uw’igitsina-gore abura uruvyaro, eka no mu bitungwa vyawe+. 15 Kandi Yehova ata gukeka azogukurako indwara yose. Na za ndwara mbi zose zo mu Misiri wamenya+, nta zo azogushirako. Azozishira ku bakwanka bose. 16 Utegerezwa kuyigiza ibisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe agira aguhe+. Ijisho ryawe ntirize ribumvire akagongwe+; kandi ntuze ukorere imana zabo+, kuko ivyo bizokubera umutego+.
17 “Niwavuga mu mutima wawe uti: ‘Aya mahanga kuri jewe ni ay’abantu benshi birenze. Nzoshobora nte kuyirukana+?’, 18 ntuze ubatinye+. Uko bigenda kwose ukwiye kwibuka ivyo Yehova Imana yawe yagiriye Farawo na Misiri yose+, 19 vya bihinyuza bikomeye amaso yawe yabona+, na vya bimenyetso na vya bitangaro+ na ca kiganza gikomeye+ na kwa kuboko kuramvuye+ Yehova Imana yawe yagukuzayo+. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yawe azogirira ibisata vyose vy’abantu ufitiye ubwoba+. 20 Yehova Imana yawe na we azobarungikako ukujonjogora+, gushika abari basigaye+ kandi bariko bihisha ngo bakuve imbere bayogeye. 21 Ntuze uranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yawe ari hagati yawe+, akaba ari Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+.
22 “Kandi Yehova Imana yawe ata gukeka azohinda ayo mahanga agende arava imbere yawe buhorobuhoro+. Ntuzokwemererwa kuyaherengeteza ningoga, ngo ibikoko vyo mu gahinga ntibihave bigwira bikakugirira nabi. 23 Kandi Yehova Imana yawe azobagabura koko mu maboko yawe, abakinagize n’umukinagizo ukomeye, gushika bazimanganijwe+. 24 Kandi ata gukeka azotanga abami babo mu kuboko kwawe+, kandi utegerezwa kurandura amazina yabo munsi y’amajuru+. Nta n’umwe azoguhagarara imbere+, gushika ubatikije+. 25 Ibishusho bibajwe vy’imana zabo mukwiye kubiturira mu muriro+. Ntuze wipfuze ifeza n’inzahabu yo kuri vyo+, canke ngo uyitware+, ngo ntuhave ufatwa mu mutego na yo+; kuko ari ikintu giteye ishishi+ kuri Yehova Imana yawe. 26 Ntuze uzane ikintu giteye ishishi mu nzu yawe, bigatuma vy’ukuri ucika ikintu co gutikizwa nka co. Bikwiye kugutera ishishi rwose, ukavyanka urunuka vy’ukuri+, kuko ari ikintu co gutikizwa+.
8 “Amabwirizwa yose ndagutegetse uno musi mukwiye kuba maso mukayagumya+, kugira mubandanye kubaho+, kandi koko mugwire, mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu+. 2 Kandi uze wibuke inzira yose Yehova Imana yawe yagucanyemwo iyi myaka mirongo ine yose mu gahinga+, kugira agucishe bugufi+, ngo akugeze+ amenye ikiri mu mutima wawe+, ko wogumije amabwirizwa yiwe canke utoyagumije. 3 Nuko agucisha bugufi, arakureka urasonza+ araheza akugaburira manu*+, iyo wewe canke ba so wawe mutari mwaramenye. Yayikugaburiye kugira akumenyeshe yuko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose ry’akanwa ka Yehova+. 4 Umutamana wawe ntiwagushiriyeko, eka n’ikirenge cawe nticavyimvye iyi myaka mirongo ine yose+. 5 Kandi urazi neza n’umutima wawe bwite yuko nka kurya nyene umuntu akosora umwana wiwe, ari ko Yehova Imana yawe yariko aragukosora+.
6 “Kandi utegerezwa kugumya amabwirizwa ya Yehova Imana yawe mu kugendera mu nzira ziwe+ no mu kumutinya+. 7 Kuko Yehova Imana yawe ariko arakujana mu gihugu ciza+, igihugu c’imyonga y’amazi, c’imbizi be n’inyenga z’amazi bidudubiza mu kiyaya c’umubande+ no mu karere k’imisozi, 8 igihugu c’ingano na sayiri* n’imizabibu n’insukoni n’amakomamanga+, igihugu c’imyelayo itanga amavuta menshi kikaba n’igihugu c’ubuki+, 9 igihugu aho utazorya umukate mu mukeno, aho ata co uzohaza, igihugu amabuye yaco ari icuma, mu misozi yaco na ho ukazohacukura umujumpu.
10 “Niwamara kurya ugahaga+, uze uhezagire+ rero Yehova Imana yawe ku bwa nya gihugu ciza yaguhaye+. 11 Wiyubare ntiwibagire+ Yehova Imana yawe ngo bitume utagumya amabwirizwa yiwe n’ingingo z’ubutungane ziwe n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi+; 12 ngo ntuhave urya ugahaga koko, ukubaka inzu nzizanziza, ukibera muri zo+, 13 ubusho bwawe n’umukuku wawe bikongerekana, n’ifeza n’inzahabu bikongerekana kuri wewe, n’ivyawe vyose bikongerekana, 14 hanyuma umutima wawe ukiduza hejuru koko+, ukibagira Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+; 15 uwagucishije muri ka gahinga kanini kandi gateye ubwoba+, karimwo inzoka z’ubumara+ n’utumina, karimwo n’ubutaka bugadutse, butagira amazi; uwagukuriye amazi mu gitandara c’isare+; 16 uwakugaburiye manu+ mu gahinga, iyo ba so batari baramenye, kugira ngo agucishe bugufi+ no kugira ngo akugeze, akugirire neza mu misi yawe yo hanyuma+; 17 maze ukavuga koko mu mutima wawe ngo: ‘Ububasha bwanje n’ubushobozi bwose bw’ukuboko kwanje bwite ni vyo vyandonkeje ubu butunzi+.’ 18 Uze wibuke Yehova Imana yawe, kuko ari we aguha ububasha bwo kurondera ubutunzi+; kugira ashitse isezerano ryiwe yarahiye ba sogokuruza bawe, nk’uko biri uyu musi+.
19 “Niwaramuka wibagiye Yehova Imana yawe, ukagendera inyuma y’izindi mana, ukazikorera ukongera ukazunamira, nshinze intahe yo kubagiriza uno musi yuko muzoyogera ata kabuza+. 20 Nka kumwe kw’amahanga Yehova ariko ararandura ngo ave imbere yanyu, ni ko muzoyogera, kuko mutazoba mwumvirije ijwi rya Yehova Imana yanyu+.
9 “Niwumve, ewe Isirayeli: uno musi ugira ujabuke Yorodani+ ngo winjire uheze womore amahanga ahambaye kandi akomeye kukuruta+, ibisagara bininibinini kandi bikingijwe ibihome gushika mu majuru+, 2 abantu bakomeye kandi barebare, bene Anakimu+, abo ubwawe wamenye ivyabo kandi ubwawe ukaba warumvise bivugwa ngo: ‘Ni nde ashobora guhagarara ashikamye imbere ya bene Anaki?’ 3 Kandi urazi neza uno musi yuko Yehova Imana yawe ariko arajabuka imbere yawe+. Ni umuriro uyigiza+. Azobazimanganya+, ubwiwe abamare igabo imbere yawe; kandi utegerezwa kubomora ubarandure vyihuta, nk’uko Yehova yakubariye+.
4 “Yehova Imana yawe niyabahinda bakava imbere yawe, ntuze uvuge mu mutima wawe, ngo: ‘Ubugororotsi bwanje bwite ni bwo bwatumye Yehova anzana ngo nigarurire iki gihugu+,’ kandi ububisha bw’aya mahanga ari bwo butumye Yehova ayirukana akava imbere yawe+. 5 Kuba uriko winjira kwigarurira igihugu cabo si ku bw’ubugororotsi+ bwawe canke ukugororoka kw’umutima wawe+. Nkako, ububisha bw’aya mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yawe ayirukana akava imbere yawe+, ku bwo gushitsa ijambo Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+. 6 Kandi utegerezwa kumenya yuko ubugororotsi bwawe atari bwo butumye Yehova Imana yawe aguha iki gihugu ciza ngo ucigarurire; kuko uri igisata c’izosi ridadaraye+.
7 “Ibuka: Ntiwibagire ingene wateye ishavu Yehova Imana yawe mu gahinga+. Kuva kuri wa musi wava mu gihugu ca Misiri gushika uje aha hantu, mwabaye abagarariji mu nyifato mugira kuri Yehova+. 8 Mbere n’i Horebu mwarateye ishavu Yehova, bituma Yehova abarurumbira ishavu gushika aho agomba kubazimanganya+. 9 Igihe naduga umusozi kwakira vya bisate vy’amabuye+, vya bisate vy’isezerano Yehova yari yagiranye namwe+, hanyuma nkaguma mba ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, (sinarya umukate canke ngo nywe amazi,) 10 ni ho Yehova yampa vya bisate bibiri vy’amabuye vyanditseko n’urutoke rw’Imana+, kuri vyo hakaba hari ya majambo yose Yehova yari yavuganye namwe ku musozi hagati mu muriro kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+. 11 Hanyuma kw’iherezo rya nya misi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, Yehova ampa vya bisate bibiri vy’amabuye, ibisate vy’isezerano+. 12 Yehova ambarira ati: ‘Haguruka, manuka ningoga uve ng’aha, kuko ba bantu bawe wakura mu Misiri bikwegeye guhona+. Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse. Bihinguriye igishusho c’icuma gishongeshejwe+.’ 13 Yehova abandanya kumbwira ati: ‘Aba bantu ndababonye: emwe, ni abantu b’izosi ridadaraye+. 14 Reka ndabazimanganye+, mpanagure amazina yabo munsi y’amajuru+, maze nawe nkugire ihanga ribarusha inkomezi n’ubwinshi+.’
15 “Inyuma y’ivyo ndahindukira, ndamanuka mva ku musozi, mu gihe nya musozi wariko uraka umuriro+. Kandi vya bisate vy’amabuye bibiri vy’isezerano vyari mu maboko yanje yompi+. 16 Maze ndaraba, nsanga mwari mwacumuye kuri Yehova Imana yanyu! Mwari mwihinguriye inyana y’icuma gishongeshejwe+. Mwari mwakebeje ningoga muta inzira Yehova yari yarabategetse+. 17 Nca mfata vya bisate bibiri, ndabitabira hasi bivuye mu maboko yanje, ndabisabiriza mu maso yanyu+. 18 Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova nka mbere, imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Sinarya umukate canke ngo nywe amazi+, kubera igicumuro canyu cose mwari mwakoze mu gukora ikibi mu maso ya Yehova ku bwo kumubabaza+. 19 Kuko nari nagize ubwoba kubera ishavu rirurumba Yehova yari yabashavuriye gushika aho agomba kubazimanganya+. Ariko Yehova yaranyumvirije n’ico gihe+.
20 “Na Aroni nyene, Yehova yaramururumbiye ishavu gushika aho agomba kumuzimanganya+; mugabo ico gihe nyene naratakamvye+ no ku bwa Aroni. 21 Hanyuma ntora igicumuro canyu mwari mwakoze, ya nyana+, ndayiturira mu muriro, ndayijanjagura, ndayisya ndayinoza gushika inoze nk’umukungugu. Inyuma y’ivyo nterera umukungugu wayo mu ruzi rw’isumo rwamanuka ruva mu musozi+.
22 “Vyongeye, i Tabera+ n’i Masa+ n’i Kiburoti-hatayava+ mwarerekanye ko muri abatera ishavu Yehova+. 23 Kandi igihe Yehova yabarungika mukava i Kadeshi-baruneya+, ati: ‘Duga mwigarurire igihugu nzobaha!’, mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+; ntimwamwizeye+ canke ngo mwumvirize ijwi ryiwe+. 24 Mwarerekanye ko muri abagarariji mu nyifato mwagize kuri Yehova+ kuva umusi nabamenya.
25 “Nuko nkubita inkoro hasi imbere ya Yehova imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+; nkako, nakubita inkoro hasi gutyo kubera Yehova yavuga ivyo kubazimanganya+. 26 Hanyuma ntangura gutakambira+ Yehova mvuga nti: ‘Ewe Mukama Segaba Yehova, ntuhonye abantu bawe, inyegu wiharije+, abo wacunguje ubukuru bwawe, abo wakuje mu Misiri+ ikiganza gikomeye+. 27 Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ubukomantare bw’aba bantu n’ububisha bwabo n’igicumuro cabo+, 28 igihugu+ wadukuyemwo ntigihave kivuga ngo: “Kubera yuko Yehova atari ashoboye kubazana mu gihugu yari yarabasezeraniye, no kubera yuko yabanka, ni co catumye abakurayo kugira abicire mu gahinga+.” 29 Ni abantu bawe n’inyegu wiharije+, abo wakujeyo ububasha bwawe bukomeye n’ukuboko kwawe kuramvuye+.’
10 “Ico gihe nyene Yehova ambwira ati: ‘Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, hanyuma uduge aho ndi ku musozi, kandi utegerezwa kwihingurira isandugu y’igiti+. 2 Nanje nzokwandika kuri nya bisate ya majambo yari kuri vya bisate vya mbere, bimwe wasavya, kandi utegerezwa kubishira muri nya sandugu.’ 3 Nuko mpingura isandugu y’igiti c’umunyinya nongera mbaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+ ndaheza nduga ku musozi, kandi nya bisate bibiri vyari mu kuboko kwanje. 4 Maze yandika kuri nya bisate inyandiko nk’imwe ya mbere+, ya Majambo Cumi+, ayo Yehova yari yababwiriye ku musozi hagati mu muriro+ kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+; inyuma y’ivyo Yehova arabimpa. 5 Maze ndahindukira, manuka mvuye ku musozi+ ndaheza nshira nya bisate muri ya sandugu nari nahinguye, kugira ngo bigumeyo, nk’uko Yehova yari yantegetse+.
6 “Hanyuma bene Isirayeli bafata inzira bava i Beyeroti Bene-yakani+ baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye, hanyuma aba ari ho ahambwa+; maze Eleyazari umuhungu wiwe atangura gukora bwa muherezi mu kibanza ciwe+. 7 Bava ng’aho bafata inzira baja i Gudigoda, hanyuma bava i Gudigoda baja i Yotibata+, igihugu c’imyonga itemba amazi.
8 “Ico gihe nyene Yehova ashira ku ruhande umuryango wa Lewi+ kugira urerure isandugu y’isezerano rya Yehova+, kugira uhagarare imbere ya Yehova ku bwo kumukorera+ no kugira ngo uhezagire mw’izina ryiwe gushika uyu musi+. 9 Ni co gituma Lewi ataronse umuturi n’intoranwa+ kumwe na bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe, nk’uko Yehova Imana yawe yari yaramubwiye+. 10 Nayo jewe, nagumye ku musozi nko muri ya misi ya mbere, ngumayo imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+, hanyuma Yehova aranyumviriza n’ico gihe nyene+. Yehova ntiyashatse kubahonya+. 11 Maze Yehova ambwira ati: ‘Haguruka, genda imbere y’abantu bafate inzira, kugira binjire maze bigarurire igihugu narahiye ba sekuruza babo ko nzobaha+.’
12 “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 13 ngo ugumye amabwirizwa ya Yehova n’ivyagezwe vyiwe+ ndagutegetse uno musi, ku neza yawe+? 14 Itegereze: amajuru ni aya Yehova Imana yawe+, mbere amajuru y’amajuru, isi+ n’ibiri muri yo vyose. 15 Ba sogokuruza bawe ni bo gusa Yehova yifatanije na bo kugira abakunde, ku buryo yatoye uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+, egome, mwebwe, abakuye mu bisata vyose vy’abantu, nk’uko biri uyu musi. 16 Kandi mutegerezwa kugenyera imitima yanyu+ ntimwongere gukomantaza amazosi yanyu+. 17 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana iruta izindi mana*+ n’Umukama w’abakama+, Imana ihambaye, y’inkomezi kandi iteye ubwoba+, itagira nkunzi ku muntu n’umwe+ canke ngo yemere igiturire+, 18 ishitsa urubanza ku bw’impfuvyi* n’umupfakazi+ kandi igakunda kavamahanga+ ku buryo imuha umukate n’umutamana. 19 Na mwebwe mutegerezwa gukunda kavamahanga+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
20 “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+. 21 Ni We ubwirizwa gushemeza+, kandi ni we Mana yawe yagukoreye vya bintu bikomeye kandi biteye ubwoba amaso yawe yiboneye+. 22 Ba sogokuruza bawe bamanutse mu Misiri bari kumwe n’abantu mirongo irindwi+, none ubu Yehova Imana yawe yakugize nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+.
11 “Kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe+ no gushitsa ivyo yabajeje n’ivyagezwe vyiwe n’ingingo ziwe z’ubutungane+ n’amabwirizwa yiwe nantaryo. 2 Kandi urazi neza uno musi (kuko ntariko mbwira abana banyu batamenye kandi batabonye indero ya Yehova+ Imana yanyu, ubukuru bwiwe+, ikiganza ciwe gikomeye+ n’ukuboko kwiwe kuramvuye+, 3 canke ibimenyetso vyiwe n’ibikorwa vyiwe yakoreye hagati ya Misiri+, abikoreye Farawo umwami wa Misiri n’igihugu ciwe cose; 4 canke ivyo yakoreye inteko za gisirikare za Misiri, amafarasi yiwe n’imikogote yiwe y’intambara, ivyo yatumye amazi y’ikiyaga Gitukura abirengera igihe bariko baboma inyuma+, Yehova akabarandura gushika uyu musi+; 5 canke ivyo yakoreye mwebwe mu gahinga kugeza mushitse aha hantu; 6 canke ivyo yakoreye Datani na Abiramu+ abahungu ba Eliyabu mwene Rubeni, hamwe isi yasamika akanwa kayo ikabamirana n’ingo zabo n’amahema yabo n’ikintu cose kibaho cabagendera inyuma hagati ya Isirayeli yose+); 7 kuko amaso yanyu ari yo yiboneye ibikorwa bikomeye vyose Yehova yakoze+.
8 “Kandi mutegerezwa kugumya ibwirizwa ryose+ ndagutegetse uno musi, kugira mukomere kandi mwinjire koko, mwigarurire igihugu mugira mujabukiremwo ngo mucigarurire+, 9 no kugira mushobore kurambira+ ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu ko azobaha be n’uruvyaro rwabo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.
10 “Kuko igihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire atari nka ca gihugu ca Misiri mwaje muvamwo, aho wahora ubiba imbuto yawe kandi ukabwirizwa kuhanyōsha ukoresheje ikirenge cawe, nk’umurima w’imboga. 11 Ariko igihugu mugira mujabukiremwo ngo mucigarurire ni igihugu c’imisozi n’ibiyaya vy’imibande+. Amazi y’imvura yo mu majuru ni yo cinywera, 12 kikaba ari igihugu Yehova Imana yawe yitaho. Amaso+ ya Yehova Imana yawe yama kuri co, kuva mu ntango z’umwaka gushika ku mpera z’umwaka.
13 “Kandi nimwagamburuka koko amabwirizwa+ ndabategetse uno musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukamukorera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, 14 nanje sinzobura gutanga imvura ku gihugu canyu ku gihe cayo+, imvura y’agatasi n’imvura y’impeshi+, kandi koko uzokwegeranya intete zawe n’umuvinyu wawe usosa n’amavuta yawe. 15 Kandi sinzobura gutanga ibimera vyo mw’itongo ryawe ku bw’ibitungwa vyawe+, kandi uzorya koko uhage+. 16 Mwiyubare, umutima wanyu ntuhave ukwegakwegwa+, mugakevya, mugasenga izindi mana, mukazunamira+, 17 maze ishavu rya Yehova rikabarurumbira, akugara amajuru ku buryo ata mvura izohaba+ n’ubutaka ntibutange umwimbu wabwo, namwe mukabwirizwa guhona vyihuta mu gihugu ciza Yehova agira abahe+.
18 “Kandi mutegerezwa gushira aya majambo yanje ku mutima wanyu+ no ku muzirikanyi* wanyu, mukayabohera ku kuboko kwanyu nk’ikimenyetso, kandi aze abe nk’agatengaruhanga hagati y’amaso yanyu+. 19 Mutegerezwa kandi kuyigisha abana banyu, ukavuga ivyayo igihe wicaye mu nzu yawe n’igihe ugenda ku nzira n’igihe uryamye n’igihe uvyutse+. 20 Kandi utegerezwa kuyandika ku bishimaryango vy’inzu yawe no ku marembo yawe+, 21 kugira ngo imisi yanyu n’imisi y’abana banyu ibe myinshi+ ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza banyu ko azobaha+, ibe nk’imisi y’amajuru hejuru y’isi+.
22 “Kuko nimwagumya ata gukevya iri bwirizwa ryose+ ndabategetse mukarishitsa, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe zose+ kandi mukumira kuri we+, 23 Yehova na we azokwirukana ayo mahanga yose ku bwanyu+, kandi ntimuzobura kwomora amahanga akomeye kubaruta kandi y’abantu benshi kubaruta+. 24 Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+. 25 Nta muntu n’umwe azohagarara ashikamye imbere yanyu+. Yehova Imana yanyu azotuma igihugu cose muzohonyozako ikirenge kibagirira ubwoba, kibatinye+, nk’uko nyene yabasezeraniye.
26 “Raba, uno musi nshize imbere yanyu umuhezagiro n’umuvumo+: 27 uzoba umuhezagiro, nimwagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+ ndabategetse uno musi, 28 ube umuvumo+, nimutagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+, mugakevya mugata inzira ndabategetse uno musi, mukagendera inyuma y’izindi mana mutamenye.
29 “Kandi, Yehova Imana yawe niyakuzana mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+, utegerezwa rero kuvugira* uwo muhezagiro ku musozi Gerizimu+ n’uwo muvumo ku musozi Ebali+. 30 Mbega iyo misozi ntiri ku ruhande rwa Yorodani amaja mu burengerazuba, mu gihugu c’Abanyakanani baba muri Araba+, imbere ya Gilugali+, iruhande ya vya biti binini vya More+? 31 Kuko mugira mujabuke Yorodani ngo mwinjire maze mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi mutegerezwa kucigarurira mukakibamwo+. 32 Kandi mutegerezwa kuba maso mugashitsa ingingo nyobozi zose n’ingingo z’ubutungane+ nshize imbere yanyu uno musi+.
12 “Ng’izi ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ mukwiye kuba maso mugashitsa+ mu gihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe atazobura kukwemerera kwigarurira, imisi yose muzomara muri bazima ku butaka+. 2 Mukwiye gusenyagura koko+ ibibanza vyose amahanga muriko muromora yakorereyemwo imana zayo, ku misozi miremire n’imirambi no munsi y’igiti gitotahaye+ cose. 3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.
4 “Ntimugakore gutyo kuri Yehova Imana yanyu+, 5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+. 6 Aho ni ho mutegerezwa kuzana amashikanwa yanyu aturirwa+, n’ibimazi vyanyu, n’ivy’icumi vyanyu+, n’intererano yo mu kuboko kwanyu+, n’amashikanwa yanyu y’indagano+, n’amashikanwa yanyu atangwa ku bushake+, n’ivy’uburiza vyo mu busho bwanyu n’ivyo mu mukuku wanyu+. 7 Aho ni ho mutegerezwa kurira imbere ya Yehova Imana yanyu+ no kunezererwa mu migambi yanyu yose+, mwe n’ingo zanyu, kuko Yehova Imana yawe yaguhezagiye.
8 “Ntimugakore mwisunze ivyo turiko turakora vyose ng’aha uno musi, umwe wese ngo akore ibigororotse mu maso yiwe bwite+, 9 kuko mutarinjira ahantu h’ukuruhukira+ n’ahantu h’intoranwa Yehova Imana yawe agira aguhe. 10 Mutegerezwa kujabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo mucigabire+, kandi ntazobura kubaha akaruhuko, mugakira abansi banyu bose babakikuje, kandi muzokwibera koko mu mutekano+. 11 Kandi, ahantu+ Yehova Imana yanyu azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba, ni ho muzozana ivyo ndabategetse vyose, amashikanwa yanyu aturirwa+ be n’ibimazi vyanyu, ivy’icumi vyanyu+ n’intererano+ yo mu kuboko kwanyu, n’amashikanwa yanyu yose y’indagano+ mezameza muzoraganira Yehova. 12 Kandi mutegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+, mwebwe n’abahungu banyu n’abakobwa banyu n’abashumba banyu n’abashumbakazi banyu n’Umulewi ari imbere mu marembo yanyu, kuko ata muturi canke intoranwa afise kumwe namwe+. 13 Wiyubare ntushikanire amashikanwa aturirwa yawe ahandi hantu aho ari ho hose wobona+. 14 Mugabo ahantu Yehova azotora muri umwe mu miryāngo yawe ni ho ukwiye gushikanira amashikanwa aturirwa yawe, kandi aho ni ho ukwiye gukorera ivyo ndagutegetse vyose+.
15 “Ariko igihe cose umutima wawe uzoba uhahamiye akanyama, uzokerera igitungwa+, urye akanyama nk’uko Yehova Imana yawe yaguhezagiye, mu marembo yawe yose. Uwuhumanye+ n’uwudahumanye boshobora kuzirya, nk’uko barya ingeregere n’ifumbēri+. 16 Ariko amaraso ni yo mutegerezwa kutarya+. Uze uyasese hasi nk’amazi+. 17 Ntuzokwemererwa kurira mu marembo yawe ic’icumi c’intete zawe+, canke c’umuvinyu wawe mushasha canke c’amavuta yawe, canke uburiza bw’ubusho bwawe n’ubw’umukuku wawe+, canke ico ari co cose mu mashikanwa yawe y’indagano uzoragana canke amashikanwa yawe atangwa ku bushake+, canke intererano y’ukuboko kwawe+. 18 Mugabo imbere ya Yehova Imana yawe ni ho uzobirira, ahantu Yehova Imana yawe azotora+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi ari imbere mu marembo yawe; kandi utegerezwa kunezerwa+ imbere ya Yehova Imana yawe mu migambi yawe yose. 19 Wiyubare ntuhebe Umulewi+, imisi yose uzomara ku butaka bwawe.
20 “Igihe Yehova Imana yawe azokwagura akarere kawe+, nk’uko yagusezeraniye+, maze ukavuga koko uti: ‘Hinge ndye akanyama,’ kuko uhahamiye kurya akanyama, igihe cose umutima wawe uzoba ubihahamiye uzoshobora kwirira akanyama+. 21 Mu gihe ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo abe ari ho ashira izina ryiwe+ hoba kure yawe, uze ukerere zimwe mu zo mu busho na zimwe mu zo mu mukuku wawe Yehova yaguhaye, nk’uko nagutegetse, kandi uze urire mu marembo yawe igihe cose umutima wawe uzoba ubihahamiye+. 22 Ariko nka kurya barya ingeregere n’ifumbēri, ni ko ushobora kuzirya+: uwuhumanye+ n’uwudahumanye bose hamwe bashobora kuzirya. 23 Kimwe gusa, wiyemeze ushikamye kutarya amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+ kandi ukaba utegerezwa kutarya ubuzima kumwe n’inyama. 24 Utegerezwa kutayarya. Uze uyasese ku butaka nk’amazi+. 25 Utegerezwa kutayarya, kugira bikugendere neza+ n’abana bawe bo mu nyuma zawe, kuko uzoba ukoze ibigororotse mu maso ya Yehova+. 26 Ibintu vyeranda vyawe+ vyonyene, ibizocika rwawe, n’amashikanwa yawe y’indagano+, ni vyo uzobwirizwa kujana, uheze uje ahantu Yehova azotora+. 27 Kandi utegerezwa guhereza amashikanwa yawe aturirwa+, inyama n’amaraso+, ku gicaniro ca Yehova Imana yawe. Amaraso y’ibimazi vyawe akwiye gusukwa imbere y’igicaniro ca Yehova+ Imana yawe, mugabo inyama urashobora kuzirya.
28 “Wiyubare, kandi ugamburuke aya majambo yose ndagutegetse+, kugira ngo bikugendere neza wewe+ n’abana bawe mu nyuma zawe gushika igihe kitagira urugero, kuko uzoba ukoze ivyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+.
29 “Igihe Yehova Imana yawe azokuraho imbere yawe amahanga uriko urajamwo ngo uyomore+, uze uyomore ube mu gihugu cayo+. 30 Wiyubare ntufatwe n’umutego inyuma yayo+ amaze kuzimanganywa akava imbere yawe, kandi ntubariritse ivy’imana zayo ngo: ‘Ayo mahanga yahora akorera imana zayo ate? Nanje, egome, jewe, nzogira gutyo nyene.’ 31 Ntuze ukore gutyo kuri Yehova Imana yawe+, kuko ikintu cose giteye ishishi kuri Yehova, ico yanka koko, ari co ayo mahanga yakoze ku mana zayo, kuko mbere n’abahungu bayo n’abakobwa bayo yama abaturira mu muriro ku bw’imana zayo+. 32 Ijambo ryose ndabategetse, muze mube maso murishitse+. Ntimuze mugire ico mwongera kuri ryo canke ico mukura kuri ryo+.
13 “Nihagira umuhanuzi+ canke umurosi+ w’indoto ahaguruka hagati yawe akaguha koko ikimenyetso canke imburizi+, 2 kandi nya kimenyetso canke nya mburizi bikaranguka koko, ari vyo yari yakubwiye+ avuga ngo: ‘Tugendere inyuma y’izindi mana utamenye, tuzikorere,’ 3 ntuze wumvirize amajambo y’uwo muhanuzi canke uwo murosi w’iyo ndoto+, kuko Yehova Imana yanyu azoba ariko arabageza+ kugira amenye nimba mukunda Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+. 4 Inyuma ya Yehova Imana yanyu ni ho mukwiye kugendera, kandi ni we mukwiye gutinya, kandi amabwirizwa yiwe ni yo mukwiye kugumya, kandi ijwi ryiwe ni ryo mukwiye kwumviriza, kandi ni we mukwiye gukorera, kandi ni we mukwiye kwumirako+. 5 Uyo muhanuzi+ canke uyo murosi wa nya ndoto aze yicwe+, kuko yavuze ivy’ukugarariza Yehova Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Misiri akagucungura ukava mu nzu y’abashumba, nya muntu akabigira ngo aguhindukize uve mu nzira Yehova Imana yawe yagutegetse kugenderamwo+; utegerezwa gukura ikibi hagati muri wewe+.
6 “Mwene wanyu, mwene nyoko wawe, canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe canke umugore wawe ukunda cane canke umugenzi wawe pfampfe+, niyagerageza kuguhendahenda mu mpisho, ngo: ‘Tugende dukorere izindi mana+,’ izo utamenye yaba wewe canke ba sogokuruza bawe, 7 zimwe mu mana z’ibisata vy’abantu biri irya n’ino yanyu, ibiri hafi yawe canke ibiri kure yawe, kuva ku mpera imwe y’igihugu gushika ku yindi, 8 ntuze ukundire icipfuzo ciwe canke ngo umwumvirize+, eka n’ijisho ryawe ntirize rimwumvire akagongwe, eka kandi ntuze umwumvire impuhwe+, canke ngo umuhishire; 9 ahubwo uze umwice ata kabuza+. Ukuboko kwawe ni kwo ubwa mbere gukwiye kuza kuri we kumwica, ukuboko kw’abantu bose na kwo kugakurikira+. 10 Uze umutere amabuye, apfe+, kuko yarondeye kuguhindukiza ngo uve kuri Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, mu nzu y’abashumba+. 11 Maze Isirayeli yose izovyumva itinye, kandi ntibazokwongera gukora ikintu kibi nk’ico hagati yawe+.
12 “Muri kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ubemwo hariya, niwumva bivugwa 13 ngo: ‘Hari abagabo b’imburakimazi basohotse bava hagati yawe+ kugira bagerageze guhindukiza ababa mu gisagara cabo+, bavuga ngo: “Tugende dukorere izindi mana,” izo mutamenye,’ 14 utegerezwa rero kurondera, ugatohoza, ukabariritsa neza+; maze nimba nya kintu cemejwe ko ari ukuri, kandi ico kintu giteye ishishi kikaba cakozwe hagati yawe, 15 ukwiye ata kabuza gukubita ubugi bw’inkota ababa muri ico gisagara+. Uze ugitikize be n’ikintu cose kiri muri co, n’ibitungwa vyaco+, biciye ku bugi bw’inkota. 16 Isahu ryaco ryose uze uryegeranirize hagati mu kibanza ca bose caho, kandi utegerezwa guturira mu muriro nya gisagara+ be n’isahu ryaco ryose bibe ishikanwa ritangwa uko ryakabaye rihabwa Yehova Imana yawe, kandi gitegerezwa gucika ikirundo c’ibihomvagurike gushika igihe kitagira urugero+. Ntikize cigere congera kwubakwa. 17 Kandi ntihaze hagire ikintu na kimwe, emwe na kimwe, kimata ku kuboko kwawe co ku kintu caziririjwe kikagirwa ceranda+, kugira ngo Yehova ahindukire areke ishavu ryiwe rirurumba+, maze akugirire koko imbabazi kandi akwereke koko imbabazi+ yongere akugwize, nk’uko nyene yarahiye ba sogokuruza bawe+. 18 Kuko ukwiye kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kugumya amabwirizwa yose+ ndagutegetse uno musi, kugira ukore ibigororotse mu maso ya Yehova Imana yawe+.
14 “Mwebwe muri abana ba Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mwikebagure+ canke ngo mwice ubuhanza+ ku ruhanga rwanyu ku bw’umuntu yapfuye. 2 Kuko muri igisata ceranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova akaba yabatoye ngo mube igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka.
3 “Ntuze urye ikintu na kimwe giteye ishishi c’ubwoko na bumwe+. 4 Ubu ni bwo bwoko bw’igikoko mushobora kurya+: ishūri, intama, impene, 5 ifumbēri, ingeregere, inzobe+, impene y’inyeshamba, impongo, intama y’inyeshamba, indonyi; 6 n’igikoko cose gisatuye ikinono kandi kikagira umwanya ugabura ikinono mu binono bibiri, kikaba cuza+. Ico murashobora kukirya. 7 Ariko ubu ni bwo bwoko mutazorya mu vyuza canke bisatuye ikinono, kikaba gitanye: ingamiya+ n’urukwavu rwo mw’ishamba+ n’inkezi yo mu bitandara+, kuko vyuza mugabo bikaba bidasatuye ikinono. Birahumanye kuri mwebwe. 8 N’ingurube+ nyene, kuko isatuye ikinono mugabo ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. Nta n’imwe mu nyama zavyo mutegerezwa kurya, n’imivyimba yavyo ntimuze muyikoreko+.
9 “Ubu bwoko ni bwo mushobora kurya mu bintu vyose biri mu mazi: Ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba mushobora kukirya+. 10 Kandi ikintu cose kidafise amababa n’ibigaragamba ntimuze mukirye+. Kirahumanye kuri mwebwe.
11 “Inyoni idahumanye iyo ari yo yose mushobora kuyirya. 12 Mugabo ibi ni vyo mutegerezwa kutarya: inkona na kagoma n’ikinyakabaka cirabura+, 13 n’ikinyamwanira gitukura, n’ikinyamwanira cirabura+, n’ikibakabaka hisunzwe ubwoko bwavyo; 14 n’igikona cose+ hisunzwe ubwoko bwaco; 15 n’ikinyoni citwa imbuni+, n’igihuna, n’inguriguri, n’agaca hisunzwe ubwoko bwavyo; 16 na ca gihuna gitoyi, na ca gihuna c’amatwi maremare+, n’imbata yo mu mazi, 17 n’ikinyoni ntamayuruzi+, n’ikinyakabaka, n’ikirovyi, 18 n’agasoza, n’inyange hisunzwe ubwoko bwavyo, na samunsure, n’agahungarema+. 19 Kandi ibiremwa vyose bigwirirana vy’amababa birahumanye kuri mwebwe+. Ntibikwiye kuribwa. 20 Ikiremwa kiguruka kidahumanye cose murashobora kukirya.
21 “Ntimuze murye umuvyimba n’umwe w’icamaze gupfa+. Ushobora kuwuha kavamahanga ari mu marembo yawe, awurye; canke ushobora kugurishwa ku munyamahanga, kuko wewe uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe.
“Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
22 “Ukwiye ata kabuza gutanga ic’icumi c’umwimbu wose w’imbuto yawe, urya uva mu murima umwaka ku mwaka+. 23 Kandi imbere ya Yehova Imana yawe, ahantu azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba, ni ho utegerezwa kurira ic’icumi c’intete zawe+, umuvinyu wawe mushasha n’amavuta yawe n’ivy’uburiza vyo mu busho bwawe no mu mukuku wawe+; kugira ngo wige gutinya Yehova Imana yawe nantaryo+.
24 “Mu gihe rero urugendo rwokubera rurerure birenze+, kuko utazoshobora gutwara ico c’icumi, kubera ko ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo ahashire izina ryiwe+ hazoba hakubereye kure birenze, (kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira+,) 25 uze ugikabe rero amahera, uyazingire mu kuboko kwawe, uheze ufate urugendo uje ahantu Yehova Imana yawe azotora. 26 Uze rero uyagure ikintu cose umutima wawe uhahamiye+, ari inka, intama, impene, umuvinyu, inzoga iboreza+, be n’ikintu cose umutima wawe wogusaba; uze ukirire ng’aho imbere ya Yehova Imana yawe, unezerwe+, wewe n’urugo rwawe. 27 Kandi ntuze uhebe Umulewi ari mu marembo yawe+, kuko atagira umuturi n’intoranwa kumwe na wewe+.
28 “Ku mpera y’imyaka itatu uzosohora ic’icumi cose c’umwimbu wawe muri uyo mwaka+, ugitereke mu marembo yawe. 29 Kandi Umulewi+, kubera ko atagira umuturi canke intoranwa kumwe na wewe, be na kavamahanga+ n’impfuvyi* n’umupfakazi+ bari mu marembo yawe, bazoza, barye bahage; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire+ mu gikorwa cose+ c’ukuboko kwawe uzokora.
15 “Uko haheze imyaka indwi, ukwiye guhebera abantu imyenda. 2 Kandi uku ni ko ukwo guheba imyenda kuzogenda+: uwufitiwe umwenda wese azoheba umwenda yahaye mugenziwe. Ntakwiye kuremera mugenziwe canke mwene wabo ngo arihe+, kuko uguheba imyenda gutegerezwa gutangazwa ku bwa Yehova+. 3 Umunyamahanga+ woshobora kumuremera ngo arihe; mugabo ikintu cawe cose coba kiri kwa mwene wanyu, ukuboko kwawe kuze kugihebe. 4 Ariko nta n’umwe akwiye kuba mworo iwawe, kuko Yehova azoguhezagira+ ata kabuza mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire+, 5 niwakira gusa kwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe, ukaba maso ugashitsa iri bwirizwa ryose ndagutegetse uno musi+. 6 Kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira vy’ukuri nk’uko yagusezeraniye, kandi koko uzoha ingurane+ amahanga menshi ku ngwati, mugabo wewe nta ngurane uzosaba; kandi uzoganza amahanga menshi, mugabo wewe ntazokuganza+.
7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+. 8 Kuko ukwiye kumupfumbatururira ikiganza cawe+ ugatanga utitangiriye itama, kandi ntubure kumuha ingurane ku ngwati nk’uko ivyo akeneye bingana, birya abuze. 9 Wiyubare, mu mutima wawe ntihaze ijambo rigayitse+, ngo: ‘Umwaka ugira indwi, wa mwaka wo guheba imyenda, uregereje+,’ maze ijisho ryawe rigacika koko iryimanyi kuri mwene wanyu mworo+, ntugire ico umuha, akabwirizwa gusemerera atakambira Yehova akurega+, bikakubera igicumuro+. 10 Ntuze ubure kumuha+, kandi umutima wawe ntukwiye kuba ingumyi mu kumuha, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe aguhezagira mu gikorwa cawe cose no mu migambi yawe yose+. 11 Kuko hagati mu gihugu hatazokwigera habura umworo+. Ni co gituma ndagutegetse, nti: ‘Uze upfumbatururire cane ikiganza cawe mwene wanyu w’umurushwa kandi w’umworo mu gihugu cawe+.’
12 “Mwene wanyu, Umuheburayo canke Umuheburayokazi, niyagurishwa kuri wewe+, kandi akaba amaze kugukorera imyaka itandatu, mu mwaka ugira indwi rero ukwiye kumurungika akava iwawe ari uwidegemvya+. 13 Kandi niwamurungika akava iwawe ari uwidegemvya, ntuze umurungike iminwe misa+. 14 Ntuze ubure kumuronsa ivya nkenerwa mu kugira ico umuha kivuye mu mukuku wawe no ku mbuga yawe y’ikubitiro no mu ruganiro rwawe rw’amavuta n’umuvinyu. Nk’uko nyene Yehova Imana yawe yaguhezagiye, ni ko ukwiye kumuha+. 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri maze Yehova Imana yawe akagucungura+. Ni co gituma ndagutegetse iki kintu uno musi.
16 “Niyakubwira ati: ‘Sinsohoka ngo mvane nawe!’ kubera agukunda cane wewe n’urugo rwawe kuko yari amerewe neza ari iwawe+, 17 uze rero ufate umugera uwutoboze ugutwi kwiwe ushike no ku muryango, aheze acike umushumba wawe gushika igihe kitagira urugero+. No ku mushumbakazi wawe uze ugenze gutyo nyene. 18 Ntibize bibe ikintu kigoye mu maso yawe niwamurungika akava iwawe ari uwidegemvya+; kuko yagukoreye imyaka itandatu ku bw’ibingana kabiri impembo y’umucangero+, kandi Yehova Imana yawe akaba yaraguhezagiye mu vyo wakora vyose+.
19 “Ikigabo c’uburiza cose kizovuka mu busho bwawe no mu mukuku wawe uze ucereze Yehova Imana yawe+. Ntuze ukoreshe igikorwa na kimwe uburiza bw’ishūri yawe, canke ngo ukemure uburiza bwo mu mukuku wawe+. 20 Imbere ya Yehova Imana yawe ni ho ukwiye kukirira ku mwaka ku mwaka, wewe n’urugo rwawe, ahantu Yehova azotora+. 21 Kandi nicabonekako agahonzi, caba gicumbagira canke gihumye, agahonzi kabi ako ari ko kose, ntuze ugishikanire kw’ikimazi Yehova Imana yawe+. 22 Mu marembo yawe ni ho ukwiye kukirira, kandi uwuhumanye n’uwudahumanye bose hamwe baze bakirye+, nk’uko barya ingeregere n’ifumbēri+. 23 Ariko amaraso yaco ntuze uyarye+. Uze uyasese hasi nk’amazi+.
16 “Ukwezi kwa Abibu+ nikwubahirizwe, kandi utegerezwa guhimbariza pasika* Yehova Imana yawe+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Yehova Imana yawe yagukuye mu Misiri mw’ijoro+. 2 Kandi utegerezwa gushikanira pasika Yehova Imana yawe kw’ikimazi+, ku vyo mu mukuku no ku vyo mu busho+, ahantu Yehova azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+. 3 Ntuze uyiryane n’ikintu na kimwe cambiye, mu misi indwi+. Ukwiye kuyirya uyikojeje udutsima tutarimwo umwambiro, wa mukate w’amarushwa, kuko wavuye mu gihugu ca Misiri gihutihuti+, kugira wibuke umusi w’ukuva kwawe mu gihugu ca Misiri imisi yose y’ubuzima bwawe+. 4 Kandi nta gicumbe gikāta gikwiye kuboneka iwawe mu karere kawe kose mu misi indwi+, eka no ku nyama uzoshikana kw’ikimazi ku mugoroba ku musi wa mbere nta zikwiye kurara gushika mu gitondo+. 5 Ntuzokwemererwa gushikana pasika kw’ikimazi mu gisagara na kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe. 6 Mugabo ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+, ni ho ukwiye gushikanira pasika kw’ikimazi ku mugoroba izuba rikimara kurenga+, ku gihe cashinzwe c’ukuva mu Misiri kwawe. 7 Kandi nya hantu Yehova Imana yawe azotora+ ni ho utegerezwa gutekera no kurira+, mu gitondo na ho uhindukire uje ku mahema yawe. 8 Imisi itandatu ukwiye kurya udutsima tutarimwo umwambiro; ku musi ugira indwi na ho hazoba ikoraniro ry’agakūra ku bwa Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe.
9 “Ukwiye kwiharūrira amayinga indwi. Kuva harya agakero gatanguye gushirwa ku ntete zihagaze ni ho uzotangura guharura amayinga indwi+. 10 Maze utegerezwa guhimbaza umusi mukuru w’amayinga ku bwa Yehova Imana yawe+, hisunzwe ishikanwa ritangwa ku bushake uzotanga ryo mu kuboko kwawe, nk’uko Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye+. 11 Kandi utegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yawe+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi ari mu marembo yawe na kavamahanga+ n’impfuvyi+ n’umupfakazi+ bari hagati yawe, ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+. 12 Kandi utegerezwa kwibuka ko wacitse umushumba mu Misiri+, kandi utegerezwa kwubahiriza no gushitsa izi ngingo nyobozi+.
13 “Umusi mukuru w’insago+ ukwiye kuwihimbariza imisi indwi igihe wegeranya ivyo ku mbuga yawe y’ikubitiro no mu ruganiro rwawe rw’amavuta n’umuvinyu. 14 Kandi utegerezwa kunezerwa mu gihe c’umusi mukuru wawe+, wewe n’umuhungu wawe n’umukobwa wawe n’umushumba wawe n’umushumbakazi wawe n’Umulewi na kavamahanga n’impfuvyi n’umupfakazi, bari mu marembo yawe. 15 Imisi indwi uzohimbaza umusi mukuru+ ku bwa Yehova Imana yawe ahantu Yehova azotora, kuko Yehova Imana yawe azoguhezagira+ mu mwimbu wawe wose no mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe, kandi utegerezwa kuba uwunezerewe gusa+.
16 “Gatatu mu mwaka, uw’igitsina-gabo wese mu bawe akwiye guseruka imbere ya Yehova Imana yawe ahantu azotora+: mu musi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro+ be no mu musi mukuru w’amayinga+ no mu musi mukuru w’insago+, kandi nta n’umwe akwiye guseruka imbere ya Yehova iminwe misa+. 17 Ingabirano y’ukuboko kw’umwumwe wese izotangwa bivanye n’umuhezagiro Yehova Imana yawe yaguhaye+.
18 “Ukwiye kwishiriraho abacamanza+ n’abarongozi+ mu marembo yawe yose Yehova Imana yawe agira aguhe hakurikijwe imiryango yawe, na bo bategerezwa gucira abantu urubanza rugororotse. 19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi. 20 Ubutungane, ubutungane ni bwo ukwiye gukurikirana+, kugira ugume uri muzima kandi wigarurire koko igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
21 “Ntuze witerere igiti c’ubwoko na bumwe ngo kibe igikingi ceranda hafi y’igicaniro ca Yehova Imana yawe uzokwihingurira+.
22 “Eka ntukwiye no kwishingira inkingi nyeranda+, ikintu Yehova Imana yawe yanka koko+.
17 “Ntuze ushikanire kw’ikimazi Yehova Imana yawe ishūri canke intama iri n’agahonzi, ikintu cose kimeze nabi; kuko ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe+.
2 “Hagati muri wewe, muri kimwe mu bisagara vyawe Yehova Imana yawe agira aguhe, nihasangwa umugabo canke umugore afise akamenyero ko gukora ikibi mu maso ya Yehova Imana yawe agahonyanga isezerano ryiwe+, 3 maze akagenda agasenga izindi mana kandi akazunamira, canke akunamira izuba canke ukwezi canke ingabo zose zo mu majuru+, ikintu ntategetse+, 4 kandi ukaba wabibwiwe, ukaba wavyumvise, kandi ukaba warondeye witonze, maze nya kintu kikemezwa ko ari ukuri+, ico kintu giteye ishishi kikaba cakozwe muri Isirayeli, 5 uze usohore hanze ku marembo yawe uyo mugabo canke uyo mugore yakoze ico kintu kibi, egome, nya mugabo canke nya mugore, umutere amabuye, apfe+. 6 Uwupfa akwiye kwicwa bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+. Ntazokwicwa bivuye ku ntahe ishinzwe n’icabona kimwe+. 7 Ukuboko kwa nya vyabona ni kwo gukwiye kuza ubwa mbere kuri we kumwica, ukuboko kw’abantu bose na kwo kugakurikira+; utegerezwa gukura ikibi hagati muri wewe+.
8 “Mu marembo yawe nihagira ikibazo co gufatirwa ingingo y’ubutungane kikubera akataraboneka birenze+, aho amaraso yasheshwe+, ahavyutse imburano+, canke hakaba hakozwe ivy’ubukazi, canke habaye amatati+, uze uhaguruke uduge ahantu Yehova Imana yawe azotora+, 9 uje ku baherezi+, Abalewi, no ku mucamanza+ azoba akora muri iyo misi, ubariritse, na bo baze bagushikirize ijambo ry’ingingo y’ubutungane+. 10 Maze uze ukore wisunze ijambo bazogushikiririza aho hantu Yehova azotora; kandi uze ube maso ukore wisunze ivyo bagutegetse vyose. 11 Uko itegeko bazokwereka riri, uko ingingo y’ubutungane bazokubwira iri, ni ko ukwiye gukora+. Ntuze ukevye ngo uve kw’ijambo bazogushikiriza, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+. 12 Umuntu azogira inyifato y’ukwita imbere mu kutumviriza umuherezi ahagaze ng’aho ngo akorere Yehova Imana yawe, canke mu kutumviriza uwo mucamanza+, uyo muntu azotegerezwa gupfa+; utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+. 13 Maze abantu bose bazovyumva batinye+, kandi ntibazokwongera kwita imbere.
14 “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, kandi ukaba wacigaruriye kandi wakibayemwo+, maze ukaba uvuze uti: ‘Reka nishirireho umwami wo kunganza, cokimwe n’amahanga yose ankikuje+’; 15 uze wishirireho umwami Yehova Imana yawe azotora akuganze+. Umwami avuye muri bene wanyu ni we ukwiye kwishiriraho ngo akuganze. Ntuzokwemererwa kwishiriraho umunyamahanga atari mwene wanyu ngo akuganze. 16 Ariko ntaze yiyongerereze amafarasi+, canke ngo atume abantu basubira mu Misiri ku bwo kwongereza amafarasi+ kandi Yehova yababwiye ati: ‘Ntimuze mwongere gusubira inyuma mujanye iyi nzira.’ 17 Ntakwiye kandi kwigwiriza abagore, kugira umutima wiwe ntuhave ukevya+; eka kandi ntakwiye kwiyongerereza ifeza n’inzahabu cane rwose+. 18 Kandi, niyafata icicaro ciwe ku ntebe y’ubwami bwiwe, aze yiyandikire mu gitabu ikopi y’iri tegeko afatiye ku rijejwe abaherezi, Abalewi+.
19 “Ritegerezwa kugumana na we, kandi ategerezwa gusoma muri ryo imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kugira yige gutinya Yehova Imana yiwe ngo agumye amajambo yose y’iri tegeko n’izi ngingo nyobozi, mu kubikora+; 20 kugira ngo umutima wiwe ntiwishire hejuru ya bene wabo+ kandi ntakevye ngo ave kw’ibwirizwa ngo akebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ashobore kurambira* ku bwami bwiwe+, we hamwe n’abahungu biwe hagati ya Isirayeli.
18 “Nta muturi canke intoranwa muri Isirayeli bikwiye kwegukira abaherezi, Abalewi, umuryango wose wa Lewi+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro ya Yehova, mbere intoranwa yiwe, ni yo bakwiye kurya+. 2 Nta ntoranwa rero ikwiye kumwegukira hagati ya bene wabo. Yehova ni we ntoranwa yiwe+, nk’uko yamubwiye.
3 “Ibi rero ni vyo bikwiye kuguma ari uburenganzira bw’abaherezi bivuye ku bantu, bivuye ku bashikana ikimazi c’imbagwa, yaba ishūri canke intama: Umuntu ategerezwa guha umuherezi ibega n’imibangabanga n’umushishito. 4 Ivya mbere ku ntete zawe, ku muvinyu wawe mushasha no ku mavuta yawe n’ubwoya bwa mbere ku bukemuwe ku mukuku wawe, ukwiye kubimuha+. 5 Kuko ari we Yehova Imana yawe yatoye mu miryango yawe yose ngo ahagarare akore igikorwa mw’izina rya Yehova, we hamwe n’abahungu biwe, nantaryo+.
6 “Kandi Umulewi niyasohoka hanze ya kimwe mu bisagara vya Isirayeli yose, aho yari amaze igihe aba+, maze akaza azanywe n’ikintu ico ari co cose umutima wiwe uhahamiye ahantu Yehova azotora+, 7 ategerezwa rero gukora igikorwa mw’izina rya Yehova Imana yawe cokimwe na bene wabo bose, Abalewi, bahagaze ng’aho imbere ya Yehova+. 8 Umuturi ungana n’uw’abandi ni wo akwiye kurya+, iruhande y’ivyo aronka bivuye ku vyo agurishije ku bintu vya ba sekuruza.
9 “Niwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze wige gukora wisunze ibintu biteye ishishi vy’ayo mahanga+. 10 Muri wewe ntihaze haboneke umuntu acisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro+, uwuragura+, umunyamageza+ canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba+ canke umupfumu+, 11 canke uwuzirikisha abandi ubupfumu+ canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke uwagize umwuga ukubura ibizoba+ canke umuntu asiguza abapfuye+. 12 Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova, kandi ivyo bintu biteye ishishi akaba ari vyo bitumye Yehova Imana yawe abirukana bakava imbere yawe+. 13 Ukwiye kwerekana ko utagira amahinyu kuri Yehova Imana yawe+.
14 “Kuko ayo mahanga uriko uromora yahora yumviriza abagira ivy’amageza+ n’abaragura+; ariko weho, Yehova Imana yawe nta kintu na kimwe yaguhaye kimeze nk’ico+. 15 Umuhanuzi avuye hagati yawe, avuye muri bene wanyu, nka jewe, ni we Yehova Imana yawe azoguhagurukiriza, ari na we mukwiye kwumviriza+, 16 bwa nyishu ku vyo wasavye Yehova Imana yawe vyose i Horebu kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+, uti: ‘Sinsubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yanje, n’uyu muriro ukomeye sinongere kuwubona, kugira simpfe+.’ 17 Kuri ivyo Yehova ambwira ati: ‘Bagize neza mu kuvuga batyo+. 18 Umuhanuzi ameze nka wewe ni we nzobahagurukiriza hagati ya bene wabo+; kandi nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe+, na we azobabwira ivyo nzomutegeka vyose+. 19 Kandi umuntu atazokwumviriza amajambo yanje uno azovuga mw’izina ryanje, jewe ubwanje nzobimubaza+.
20 “‘Ariko umuhanuzi yihaye kuvuga mw’izina ryanje ijambo ntamutegetse kuvuga+ canke akavuga mw’izina ry’izindi mana+, uyo muhanuzi ategerezwa gupfa+. 21 Niwibwira na ho mu mutima wawe uti: “Tuzomenya gute ijambo Yehova atavuze+?” 22 Nya muhanuzi niyavuga mw’izina rya Yehova hanyuma nya jambo ntiribe canke ngo riranguke, iryo ni ryo jambo Yehova atazoba yavuze. Nya muhanuzi azoba yarivuganye ukwita imbere+. Ntaze agutere ubwoba+.’
19 “Yehova Imana yawe niyarandura amahanga+ yegukira igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, umaze kubomora ugasigara uba mu bisagara vyabo no mu mazu yabo+, 2 uzokwishirira ku ruhande ibisagara bitatu hagati mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigarurire+. 3 Uzokwitegurira inzira, kandi uze ugaburemwo gutatu akarere k’igihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigabire, habe aho uwishe umuntu wese ahungira+.
4 “Ivyerekeye uwishe umuntu ashobora guhungirayo akabona kubaho biri uku: Igihe akubise mugenziwe atabizi kandi akaba atari asanzwe amwanka+; 5 canke igihe ajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya inkwi, hanyuma akabangura ukuboko kwiwe ngo ateme igiti n’ishoka, maze icuma cayo kikarokōka mu kirindi c’igiti+, kigakubita mugenziwe agapfa; uyo muntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara, abone kubaho+. 6 Ahandiho, umuhōzi+ w’amaraso, kubera umutima wiwe warunguriye n’ishavu, yohava yoma inyuma uwo yishe umuntu akamuhamvya, kubera ko inzira ari ndende. Yohava amukubita agapfa, kandi ata rubanza rwo gupfa+ akwiriye, kuko atari asanzwe amwanka. 7 Ni co gituma ndagutegetse nti: ‘Uzokwishirira ku ruhande ibisagara bitatu+.’
8 “Kandi Yehova Imana yawe niyāgura akarere kawe yisunze ivyo yarahiye ba sogokuruza bawe+, kandi akaba yaguhaye igihugu cose yasezeranye guha ba sogokuruza bawe+, 9 kuko uzoba wagumije iri bwirizwa ryose ndagutegetse uno musi ukarishitsa, ugakunda Yehova Imana yawe kandi ukagendera mu nzira ziwe nantaryo+, uze rero wiyongerereko ibindi bisagara bitatu kuri ivyo bitatu+, 10 kugira ntihagire amaraso y’intungane+ avishwa hagati mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe kw’intoranwa, kandi ntihagire amaraso akwagira+.
11 “Ariko mu gihe hogira umuntu yanka+ mugenziwe, akamubundira maze akamugurukirako akamukubita, agapfa+, hanyuma nya muntu agahungira muri kimwe muri ivyo bisagara, 12 abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo baze barungike abamukurayo, baheze bamushire mu kuboko kw’umuhōzi w’amaraso, apfe+. 13 Ijisho ryawe ntirize rimwumvire akagongwe+, kandi utegerezwa gukura muri Isirayeli icaha c’amaraso y’intungane+, kugira uronke ivyiza.
14 “Ntuze wigize inyuma uturimbi twa mugenzawe+, igihe ba sokuruza bazoba bamaze gushinga imbibe mu ntoranwa yawe uzotorana mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ucigarurire.
15 “Nta cabona kimwe rudende gikwiye guhaguruka ngo cagirize umuntu kw’ikosa iryo ari ryo ryose canke ku gicumuro ico ari co cose+, ku biraba igicumuro ico ari co cose yokora. Ikintu gikwiye kwemezwa bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 16 Mu gihe icabona gitegura gukora ivy’ubukazi cohagurukira umuntu ngo kimuremeke ikirego c’umugararizo+, 17 abo bantu babiri bafitaniye amatati baze bahagarare imbere ya Yehova, imbere y’abaherezi n’abacamanza bazoba bakora muri iyo misi+. 18 Abacamanza baze batohoze bitonze+, maze nimba ico cabona ari icabona c’ikinyoma kandi kikaba caremetse mwene wabo ikirego c’ikinyoma, 19 muze mumugirire nk’uko nyene yari yateguye kugirira mwene wabo+, kandi utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+. 20 Abasigaye rero bazovyumva batinye, kandi ntibazokwigera basubira gukora ikintu na kimwe kibi nk’ico hagati yawe+. 21 Kandi ijisho ryawe ntirize ryumve akagongwe+: ubuzima ku bundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi, ikirenge ku kindi+.
20 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe maze ukabona amafarasi n’imikogote y’intambara+, abantu benshi kukuruta, ntuze ubatinye; kuko Yehova Imana yawe, uwagukuye mu gihugu ca Misiri+, ari kumwe nawe+. 2 Kandi niwegereza urugamba, umuherezi aze yegere avugane n’abantu+. 3 Aze ababwire ati: ‘Umve, ewe Isirayeli, uno musi muregereje urugamba ngo murwane n’abansi banyu. Imitima yanyu ntishe coba+. Ntimutinye ngo mute umutwe canke ngo muhinde agashitsi kubera bo+, 4 kuko Yehova Imana yanyu agendana namwe ngo abarwanire mu kurwanya abansi banyu, kugira abakize+.’
5 “Abarongozi+ na bo nyene baze babwire abantu bati: ‘Ni nde muntu yubatse inzu nshasha akaba atarayinjira? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu akayinjira+. 6 Kandi ni nde muntu yateye umurima w’imizabibu akaba ataratangura kuwikorako? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu agatangura kuwikorako+. 7 Vyongeye, ni nde muntu yari areheje umugore akaba atari bwamutware? Nagende asubire ku nzu iwe+, ntahave apfira ku rugamba maze uwundi muntu akamutwara.’ 8 Abarongozi baze bongere babwire abantu bati: ‘Ni nde muntu afise ubwoba kandi afise umutima uhuha+? Nagende asubire ku nzu iwe, ntahave atuma umutima wa bene wabo ushonga nk’uwiwe bwite+.’ 9 Kandi abo barongozi nibaheza kuvugana n’abantu, baze bagene abakuru b’ingabo baja imbere abantu.
10 “Niwegereza igisagara kugira ngo ukirwanye, utegerezwa kukimenyesha ibisabwa kugira habe amahoro+. 11 Kandi uku ni ko bizogenda: nicaguha inyishu y’amahoro kikakwugururira amarembo yaco, abantu bose bari muri co baze bacike abawe bakore ibikorwa vy’agahato, kandi baze bagukorere+. 12 Mugabo nikitagiriranira amahoro nawe+, kikakurwanya koko bikaba ngombwa ko ucugariza, 13 Yehova Imana yawe rero azokigabura koko mu kuboko kwawe, nawe utegerezwa kwicisha ubugi bw’inkota uw’igitsina-gabo wese+. 14 Abagore gusa n’abana batoyi+ n’ibitungwa+ be n’ikintu cose kizoba kiri muri ico gisagara, isahu yaco yose, ni vyo uzosahura bikaba rwawe+; kandi uze urye isahu y’abansi bawe, abo Yehova Imana yawe azoba yaguhaye+.
15 “Ukwo ni ko uzogirira ibisagara vyose biri kure yawe cane bitari mu bisagara vy’ayo mahanga. 16 Mu bisagara vy’ivyo bisata vy’abantu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa, ni ho gusa utazozigamira ubuzima ikintu na kimwe gihumeka+, 17 kuko ubwirizwa kubitikiza ata kabuza: Abaheti n’Abamori, Abanyakanani n’Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, nk’uko Yehova Imana yawe yagutegetse; 18 kugira ntibabigishe gukora mwisunze ibintu vyabo vyose biteye ishishi bakoreye imana zabo, mugahava mucumura koko kuri Yehova Imana yanyu+.
19 “Niwugariza igisagara imisi myinshi uriko urakirwanya kugira ugifate, ntuze uhonye ibiti vyaco mu kubibangurira ishoka; kuko uzobiryako; ntuze uvyicire+. Mbega igiti co mw’ishamba kibaye umuntu ngo ugisugereze? 20 Igiti gusa muzi ko kitaribwa ni co muzohonya, kandi muze mucicire mucubakishe ivyo kwuririrako mu gusugereza+ igisagara kizoba kiriko kirabarwanya, gushika nya gisagara gitemvye.
21 “Nihagira umuntu basanga yagandaguwe ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe ngo ubwigarurire, arambaraye mu gahinga, kandi uwamwishe akaba atamenyekanye+, 2 abagabo b’inararibonye b’iwanyu n’abacamanza b’iwanyu+ baze bagende bapime gushika ku bisagara bikikuje uwo yagandaguwe: 3 icagirwa n’ikosa kizoba ari igisagara kirushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe. Abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze batore ishashi yo mu busho itarakoreshwa, itarakwega ingǒgo*; 4 abagabo b’inararibonye b’ico gisagara baze bamanukane iyo shashi mu mwonga utemba amazi aho badasanzwe barima canke ngo babibe imbuto, baheze bavunire izosi ry’iyo shashi ng’aho muri nya mwonga+.
5 “Abaherezi, bene Lewi, baze begere, kuko ari bo Yehova Imana yawe yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire+ mw’izina rya Yehova, kandi biciye ku kanwa kabo akaba ari ho amatati yose ajanye n’igikorwa cose c’ubukazi akwiye kudadanurwa+. 6 Maze abagabo b’inararibonye bose b’ico gisagara barushirije kuba hafi y’uwo yagandaguwe baze bakarabire amaboko yabo+ hejuru ya ya shashi, imwe izosi ryayo rizoba ryavuniwe mu mwonga; 7 kandi baze bishure bati: ‘Amaboko yacu si yo yasheshe ayo maraso, eka n’amaso yacu ntiyabonye ingene aseswa+. 8 Ntuyaharure ku bantu bawe Isirayeli, abo wacunguye+, ewe Yehova, kandi ntushire amaraso y’intungane+ hagati y’igisata cawe Isirayeli.’ Kandi ayo maraso ntazoharurwa kuri bo. 9 Wewe rero, uzokura hagati yawe icaha c’ukwagirwa n’amaraso y’intungane+, kuko uzokora ibigororotse mu maso ya Yehova+.
10 “Niwaja ku rugamba kurwana n’abansi bawe, kandi Yehova Imana yawe akaba yabagabuye mu kuboko kwawe+, nawe ukabatwara ari imbohe+, 11 maze muri izo mbohe ukabonamwo umugore mwiza ku mubiri, hanyuma ukamugomwa+, ukamutwara ngo abe umugore wawe, 12 uze umuzane rero mu nzu yawe. Aze yimoshe umutwe+ yongere atunganye inzara ziwe, 13 yambure umutamana yajemwo ari imbohe aheze abe mu nzu yawe, aririre se na nyina ukwezi* kwose+. Inyuma y’ivyo uze uryamane na we, umutware akubere umugeni, abe umugore wawe. 14 Niwabona na ho ataguhimbaye, uze umurungike+, uko umutima wiwe ugomba; mugabo ntuze umugurishe amahera. Ntuze umucuranguze+ umaze kumutetereza.
15 “Umugabo niyagira abagore babiri, umwe akundwa uwundi yankwa, maze bompi, uwukundwa be n’uwankwa, bakamuvyarira abahungu, umuhungu w’imfura akaba uw’uyo yankwa+, 16 ku musi rero azoha abahungu biwe intoranwa y’ivyo afise, ntazokwemererwa gufata umuhungu w’umugore akundwa ngo amugire imfura ngo arenganye umuhungu w’umwe yankwa, kandi ari we mfura+. 17 Kuko akwiye kwemera ko imfura ari umuhungu w’umwe yankwa mu kumuha imigabane ibiri ku kintu cose afise+, kuko uyo ari we buzibūra bwiwe*+. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+.
18 “Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji+, akaba atumviriza ijwi rya se canke ijwi rya nyina+, kandi bakaba baramukosoye mugabo ntabumvirize+, 19 se na nyina rero baze bamufate, bamusohore bamujane ku bagabo b’inararibonye bo mu gisagara c’iwabo no kw’irembo ry’aho aba+, 20 baheze babwire abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo bati: ‘Uyu mwana wacu ni intagondwa akaba n’umugarariji; ntiyumviriza ijwi ryacu+, kandi ni umukunzi w’inda+ akaba n’imborerwa+.’ 21 Maze abagabo bose bo mu gisagara c’iwabo baze bamutere amabuye, apfe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe, kandi Isirayeli yose izovyumva itinye koko+.
22 “Nihagira umuntu abonekamwo igicumuro gikwiriye urubanza rwo gupfa, akicwa+, kandi mukaba mwamumanitse ku giti+, 23 umuvyimba wiwe ntuze urare ku giti+; ahubwo utegerezwa kumuhamba kuri uyo musi, kuko uwumanitswe ari ikintu kivumwe ku Mana+. Ntuze uhumanye ubutaka bwawe, ubwo Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa+.
22 “Ntuze ubone ishūri ya mwene wanyu canke intama yiwe izimiye ngo uvyirengagize+. Utegerezwa kubigarurira mwene wanyu+. 2 Nimba na ho mwene wanyu atari hafi yawe kandi ukaba utamumenye, utegerezwa rero kuyijana i muhira iwawe mu nzu yawe, ikaguma iwawe gushika mwene wanyu ayirondeye. Nawe utegerezwa kuyimusubiza+. 3 Ukwo nyene ni ko uzogira ku ndogobwa yiwe, no ku mutamana wiwe, no ku kintu cose ca mwene wanyu catakaye, camutakaranye ukaba wagitoye. Ntuzokwemererwa kuvyirengagiza.
4 “Ntuze ubone indogobwa ya mwene wanyu canke ishūri yiwe itemvye ku nzira ngo uvyirengagize nkana. Utegerezwa kumufasha kubivyura+.
5 “Nta mpuzu y’umuntu w’umugabo ikwiye kwambarwa n’umugore, eka n’umuntu w’umugabo ntakwiye kwambara igikwemu c’umugore+; kuko uwukora ivyo wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe.
6 “Mu gihe icari c’inyoni coba kiri imbere yawe mu nzira, mu giti ico ari co cose canke hasi, kirimwo ivyana+ canke amagi, kandi nyina ikaba ibundikiriye ivyo vyana canke amagi, ntuze utware nyina n’ivyana+. 7 Nyina utegerezwa kuyirekura, ariko ivyana urashobora kubitwara, kugira bikugendere neza, urambe* koko+.
8 “Niwubaka inzu nshasha, uze ukore igitangirizo c’igisenge cawe+, kugira ntukwegere amaraso inzu yawe, kuko hogira uwukoroka avuye kuri co.
9 “Ntuze ubibe umurima wawe w’imizabibu imbuto z’ubwoko bubiri+, kugira ngo umwimbu wose w’imbuto wobiba be n’umwimbu wa nya murima w’imizabibu ntibihave bitwarwa impaga bikegukira aheranda.
10 “Ntuze urimishe ishūri n’indogobwa bibohewe ku ngogo imwe+.
11 “Ntuze wambare impuzu y’ubwoya n’ilino* bivanze+.
12 “Uze wihingurire ubushenza ku mpera zine z’ivyambarwa vyawe wirenzako+.
13 “Umugabo niyatwara umugore kandi koko akaryamana na we hanyuma nya mugabo agahava akamwanka+, 14 akaba yamwagirije ibikorwa vy’agaterasoni, agatuma agira izina ribi+, akavuga ngo: ‘Uyu ni we mugore natwaye, hanyuma ndamwegera, sinasanga muri we ikimenyamenya c’ubusugi+,’ 15 se w’uyo mukobwa na nyina wiwe baze batore ikimenyamenya c’ubusugi bw’uyo mukobwa, bakizanire abagabo b’inararibonye b’ico gisagara kw’irembo ryaco+, 16 se wa nya mukobwa azoce abwira abagabo b’inararibonye ati: ‘Nahaye umukobwa wanje uyu mugabo ngo amubere umugore, hanyuma aramwanka+. 17 None ehe ariko amwagiriza ibikorwa vy’agaterasoni+, ngo: “Nasanze umukobwa wawe adafise ikimenyamenya c’ubusugi+.” Ng’iki rero ikimenyamenya c’ubusugi bw’umukobwa wanje.’ Maze baze basanze nya mutamana imbere y’abagabo b’inararibonye b’ico gisagara. 18 Abagabo b’inararibonye+ b’ico gisagara baze bafate nya mugabo bamutoze indero+. 19 Baze bamuce amande ya shekeli ijana z’ifeza, bazihe se wa nya mukobwa, kuko yatumye umwigeme w’isugi wo muri Isirayeli agira izina ribi+; kandi azoguma ari umugore wiwe. Ntazokwemererwa kumwirukana, imisi yiwe yose.
20 “Mugabo nimba bibonetse ko ico kintu ari ukuri, ata kimenyamenya c’ubusugi cabonetse muri uyo mukobwa+, 21 baze basohore nya mukobwa ku bwinjiriro bw’inzu ya se, maze abagabo bo mu gisagara c’iwabo bamutere amabuye apfe, kuko yakoze ubusazi bw’agaterasoni+ muri Isirayeli mu gukorera ubumaraya mu nzu ya se+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+.
22 “Umugabo niyafatwa aryamanye n’umugore afise umugabo+, bompi rero bategerezwa gupfira hamwe, uwo mugabo yari aryamanye n’umugore n’uwo mugore nyene+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+.
23 “Nimba hari umwigeme w’isugi yarehejwe n’umugabo+, maze hakagira umugabo amusanga mu gisagara akaryamana na we+, 24 muze mubasohore bompi kw’irembo ry’ico gisagara mubatere amabuye, bapfe, uyo mukobwa azire kuba atakomye induru mu gisagara, uyo mugabo na we azire kuba yatetereje umugore wa mugenziwe+. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+.
25 “Ariko nimba mu gahinga ari ho nya mugabo yasanze uyo mukobwa yari arehejwe, akamufata akaryamana na we, uyo mugabo yaryamanye na we aze apfe wenyene, 26 umukobwa nta co uzomugira. Uyo mukobwa nta gicumuro afise gikwiriye urupfu, kuko nka kurya nyene umuntu agurukira kuri mugenziwe akamwica+, akamwaka ubuzima, ni co kimwe n’ivyo. 27 Kuko mu gahinga ari ho yamusanze. Nya mukobwa yari arehejwe yakomye induru, mugabo nta n’umwe yariho wo kumutabara.
28 “Umugabo niyabona umukobwa, umwigeme w’isugi atarareshwa, kandi vy’ukuri akamucakira akaryamana na we+, maze bagafatwa+, 29 nya mugabo yaryamanye na we ategerezwa rero guha se wa nya mukobwa shekeli mirongo itanu z’ifeza+, na we acike umugore wiwe kubera yamutetereje. Ntazokwemererwa kumwirukana, imisi yiwe yose+.
30 “Nta mugabo akwiye gutwara umugore wa se, ngo ntiyambure impuzu* se+.
23 “Nta mugabo yakonywe+ mu gufyonyorwa amatengatwa+ canke yacitse igihimba c’irondoka ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.
2 “Nta mwana w’ikivyarwa+ ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova. Mbere no gushika kw’iyaruka rigira icumi, mu biwe nta n’umwe ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.
3 “Nta Mwamoni canke Umunyamowabu ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova+. Mbere no gushika kw’iyaruka rigira icumi, mu babo nta n’umwe ashobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova, gushika igihe kitagira urugero, 4 kuko bataje kubatabaza+ umukate n’amazi mu nzira igihe mwari muvuye mu Misiri+, no kubera bahereye Balamu mwene Beyori w’i Petori h’i Mezopotamiya ngo ahamagarire akabi kuri wewe+. 5 Yehova Imana yawe ntiyashatse kwumviriza Balamu+. Mugabo Yehova Imana yawe yahinduye uyo muvumo umuhezagiro ku bwawe+, kuko Yehova Imana yawe yagukunze+. 6 Ntuze ukore urondera amahoro yabo canke ugutunganirwa kwabo, imisi yawe yose gushika igihe kitagira urugero+.
7 “Ntuze wanke Umwedomu urunuka, kuko ari mwene wanyu+.
“Ntuze wanke Umunyamisiri urunuka, kuko wacitse kavamahanga mu gihugu ciwe+. 8 Abana bovuka kuri bo b’iyaruka rigira gatatu bobo boshobora kwinjira mw’ishengero rya Yehova.
9 “Niwasohoka gushinga ikambi kugira urwanye abansi bawe, utegerezwa kwirinda ikintu kibi cose+. 10 Muri wewe nihagira umugabo ataguma ari uwudahumanye, bivuye ku buhumane buza mw’ijoro+, ategerezwa kuja hanze y’ikambi. Ntashobora kwinjira mw’ikambi+. 11 Kandi uku ni ko bitegerezwa kugenda: bugorovye aze yiyoge n’amazi, izuba rirenze na ho ashobore kwinjira mw’ikambi+. 12 Uze wame ufise ahantu hiherereye ho kwifashisha, hanze y’ikambi, abe ari ho uza uraja. 13 Kandi uze wamane urumambo wifashisha kumwe n’ibikoresho vyawe, maze niwasutama ku gahinga ngo witabare, uze urwimbishe ikinogo hanyuma uhindukire upfuke umwanda wawe mukuru+. 14 Kuko Yehova Imana yawe agendagenda mw’ikambi yawe kugira akurokore+ no kugira agabure abansi bawe mu kuboko kwawe+. Kandi ikambi yawe itegerezwa kuba nyeranda+, kugira ntabone muri wewe ikintu kitabereye ngo ace asigaho kujana nawe+.
15 “Ntuze ushikirize umushumba shebuja igihe ahunze shebuja akaza iwawe+. 16 Azoguma abana nawe hagati muri wewe, ahantu azohitamwo muri kimwe mu bisagara vyawe+, aho ashaka hose. Ntuze umufate nabi+.
17 “Nta n’umwe mu bakobwa ba Isirayeli akwiye kuba umumaraya w’urusengero+, eka nta n’umwe muri bene Isirayeli akwiye kuba umumaraya w’urusengero+. 18 Ntuze uzane mu nzu ya Yehova Imana yawe ingero+ ya maraya canke ikiguzi c’imbwa+ ku bw’indagano iyo ari yo yose, kuko ivyo ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe, mbere vyose uko ari bibiri.
19 “Ntuze urihishe mwene wanyu inyungu+: inyungu ku mahera, inyungu ku bifungurwa+, inyungu ku kintu ico ari co cose umuntu ashobora kwakako inyungu. 20 Umunyamahanga+ woshobora kumurihisha inyungu, mugabo mwene wanyu ntuze umurihishe inyungu+; kugira ngo Yehova Imana yawe aguhezagire mu migambi yawe yose mu gihugu uriko urajamwo ngo ucigarurire+.
21 “Niwaraganira indagano Yehova+ Imana yawe, ntuze utebagane kuyishitsa+, kuko Yehova Imana yawe atazobura kuyikwishuza, bikakubera igicumuro+. 22 Mugabo uretse kugira indagano, ntibizokubera igicumuro+. 23 Irivuzwe n’iminwa yawe ukwiye kurishitsa+, kandi utegerezwa gukora nk’uko nyene waraganiye Yehova Imana yawe, bwa shikanwa ritangwa ku bushake wavugishije akanwa kawe+.
24 “Niwaja mu murima w’imizabibu wa mugenzawe, uze urye gusa inzabibu ziguhaza, mugabo ntihaze hagire izo ushira mu co ufise+.
25 “Niwaja mu murima w’intete zigihagaze za mugenzawe, uze uhuruture gusa amahundo yeze n’ukuboko kwawe, mugabo ntuze ucishe agakero mu murima w’intete zigihagaze za mugenzawe+.
24 “Umugabo niyatwara umugore akamugira uwiwe, hanyuma bigashika ntagire ubutoni mu maso ya nya mugabo kuko yamubonyeko ikintu kitabereye+, aze amwandikire icete c’ukwahukana+ agishire mu kuboko kwiwe, aheze amwirukane mu nzu yiwe+. 2 Aze asohoke amuvire mu nzu, agende, abe uw’uwundi mugabo+. 3 Uyo wundi mugabo niyamwanka, akamwandikira icete c’ukwahukana, akagishira mu kuboko kwiwe akamwirukana mu nzu yiwe, canke mu gihe uyo wundi mugabo yamutwaye yopfa, 4 wa mugabo wa mbere yamwirukana ntazokwemererwa kwongera kumutwara ngo abe umugore wiwe amaze guhumanywa+; kuko ico ari ikintu giteye ishishi imbere ya Yehova, kandi ntuze ukwegere mu gicumuro igihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa.
5 “Umugabo niyazana umugeni+, ntakwiye kuja mu gisirikare, canke ngo hagire ikindi kintu na kimwe asabwa gukora. Akwiye kuguma iwe umwaka wose ata co bamusaba, anezereze umugore wiwe yazanye+.
6 “Nta n’umwe akwiye gufata bwa ngwati urusyo rw’amaboko canke ingasiro yarwo+, kuko ubuzima ari bwo yoba afashe bwa ngwati.
7 “Umuntu niyafatwa anyuruje+ umuntu wo muri bene wabo bo muri bene Isirayeli, akaba yamucuranguje hanyuma akamugurisha+, uyo munyuruji rero ategerezwa gupfa. Kandi utegerezwa gukura ikibi hagati yawe+.
8 “Wiyubare ku cago c’imibembe+, kugira witwararike ukore ivyo abaherezi, Abalewi, bazobategeka vyose+. Mukwiye kuba maso+ mugakora nk’uko abo nabategetse. 9 Hazoze haribukwa ivyo Yehova Imana yawe yagiriye Miriyamu mu nzira igihe mwariko muva mu Misiri+.
10 “Niwaha mugenzawe ingurane iyo ari yo yose+, ntuze winjire mu nzu yiwe kumwaka ico yagwatirije+. 11 Ukwiye guhagarara hanze, hanyuma nya muntu wahaye ingurane akuzanire hanze iyo ngwati. 12 Nimba nya muntu ari mu ngorane, ntuze uje kuryama ugifise ingwati yiwe+. 13 Ubwirizwa kumusubiza iyo ngwati izuba rikimara kurenga+, aje kuryama mu mpuzu yiwe+, aguhezagire+. Kandi bizokubera ubugororotsi imbere ya Yehova Imana yawe+.
14 “Ntuze ugunge umucangero ari mu ngorane kandi akaba mworo, yaba uwo muri bene wanyu canke muri ba kavamahanga bawe bari mu gihugu cawe, mu marembo yawe+. 15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+.
16 “Ba se ntibakwiye kwicwa bazira abana, kandi n’abana ntibakwiye kwicwa bazira ba se+. Umwe wese azopfa ahowe igicumuro ciwe bwite+.
17 “Ntuze ugoreke urubanza rwa kavamahanga+ canke rw’impfuvyi*+, kandi ntuze ufate bwa ngwati impuzu y’umupfakazi+. 18 Utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu Misiri, hanyuma Yehova Imana yawe akagucungura akagukurayo+. Ni co gituma ndagutegetse kugira ico kintu.
19 “Niwashwabura umwimbu wawe wo mu murima wawe+, ukibagirira umuganda mu murima, ntuze usubire inyuma kuwutora. Uwo muganda ukwiye kugumayo ku bwa kavamahanga, ku bw’impfuvyi no ku bw’umupfakazi+, kugira Yehova Imana yawe aguhezagire mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+.
20 “Niwakubita igiti cawe c’umwelayo, ntuze usubire mu mashami yaco aho waciye. Ivyasigaye bikwiye kugumayo ku bwa kavamahanga, ku bw’impfuvyi no ku bw’umupfakazi+.
21 “Niwasarura inzabibu z’umurima wawe w’imizabibu, ntuze usubire inyuma gusarura ivyasigaye aho waciye. Bikwiye kugumayo ku bwa kavamahanga, ku bw’impfuvyi no ku bw’umupfakazi. 22 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri+. Ni co gituma ndagutegetse kugira ico kintu+.
25 “Nihaduka amatati hagati y’abantu+, hanyuma bakarenguka gucirwa urubanza+, baze babacire urubanza, umugororotsi bavuge ko ari umugororotsi, umubisha na we ko ari umubisha+. 2 Nimba nya mubisha akwiye gukubitwa+, umucamanza aze ategeke ko aryama yubitse inda, akubitirwe imbere yiwe igitigiri c’inkoni+ gihuye n’igikorwa ciwe c’ububisha. 3 Ashobora kumukubita inkoni mirongo ine. Ntaze arenzeko n’imwe, kugira ntabandanye kumukubita inkoni nyinshi zirenze izo+, mwene wanyu agateterezwa mu maso yawe.
4 “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo iriko irakubita ibinyantete+.
5 “Mu gihe abavukana babana maze umwe muri bo agapfa ata gahungu agira, umugore w’uwo apfuye ntaze yabirwe hanze n’umugabo w’ahandi. Muramuwe aze agende aho ari amwabire, acure umugore wa mwene wabo+. 6 Imfura azovyara ize itware izina rya mwene wabo yapfuye+, kugira izina ryiwe ntirihanagurike muri Isirayeli+.
7 “Ariko nimba nya mugabo adahimbawe no gutwara umupfakazi asigwa na mwene wabo, uyo mupfakazi aze aduge rero kw’irembo ahari abagabo b’inararibonye+, avuge ati: ‘Mwene wabo n’umugabo wanje yanse kuzigama izina rya mwene wabo muri Isirayeli. Ntiyemeye kuncūra.’ 8 Abagabo b’inararibonye b’igisagara c’iwabo na bo baze bamuhamagare bavugane na we, na we aheze ahagarare avuge ati: ‘Sinahimbawe no kumutwara+.’ 9 Kuri ivyo nya mupfakazi aze amwegere mu maso y’abagabo b’inararibonye, amwambure inkweto* ku kirenge+ aheze amucire mu maso+, asubizeyo ati: ‘Ukwo ni ko umugabo yanse kwubaka urugo rwa mwene wabo azogirirwa+.’ 10 Maze izina bazomwita muri Isirayeli, rize ribe: ‘Inzu y’uwambuwe inkweto.’
11 “Abagabo nibarwana, maze umugore w’umwe akegera kugira akize umugabo wiwe ukuboko kw’uwuriko aramukubita, agatuma ukuboko kwiwe agacakira nya mugabo ku bihimba vy’irondoka+, 12 uze umuce igikonjo. Ijisho ryawe ntirize ryumve akagongwe+.
13 “Ntuze ugire mw’isaho yawe ubwoko bubiri bw’amabuye y’ugupima+, rinini na ritoyi. 14 Ntuze ugire mu nzu yawe ubwoko bubiri bw’ingero za efa+, nini na ntoyi. 15 Uze ugume ufise ibuye ry’umunzane ritabesha kandi ry’ukuri. Uze ugume ufise ingero ya efa itabesha kandi y’ukuri, kugira imisi yawe ibe myinshi ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+. 16 Kuko uwukora ivyo bintu wese, uwugira ivy’akarenganyo wese, ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova Imana yawe+.
17 “Haze hibukwe ivyo Amaleki yakugiriye mu nzira igihe wariko urava mu Misiri+, 18 ingene yagusanze mu nzira, agakubita mu ruhande rwawe rw’inyuma abagenda bagozēra inyuma yawe bose, mu gihe wari urushe, urambiwe; kandi ntiyatinye Imana+. 19 Maze Yehova Imana yawe niyamara kukuruhura abansi bawe bose hirya no hino mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire+, uze uhanagure Amaleki ntibe ikivugwa munsi y’amajuru+. Ntuze wibagire.
26 “Niwateba ukinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa, umaze kucigarurira ukakibamwo+, 2 uze utore bikeyi ku mushuzo+ w’ivyamwa vyose vy’ubutaka, ivyo uzokwimbura mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, uheze ubishire mu gisimbo hanyuma uje ahantu Yehova Imana yawe azotora ngo atume izina ryiwe ari ho riba+. 3 Uzoze ku muherezi+ azoba akora muri iyo misi, umubwire uti: ‘Ndamenyesheje uno musi Yehova Imana yawe yuko ninjiye mu gihugu Yehova yarahiye ba sogokuruza ko azokiduha+.’
4 “Umuherezi na we aze yakire nya gisimbo mu kuboko kwawe, agitereke imbere y’igicaniro ca Yehova Imana yawe. 5 Nawe uze wishure, uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: ‘Dawe yari Umusiriya+ ari ku mpfiro; maze amanuka mu Misiri+, abayo ari kavamahanga ari kumwe n’abantu b’imparurwa+; mugabo hiyo yacitse ihanga rihambaye, rikomeye kandi ry’abantu benshi+. 6 Maze Abanyamisiri batangura kudufata nabi no kuducumukuza no kuturemereza ubushumba buruhije+. 7 Nuko dutangura kuririra Yehova Imana ya ba sogokuruza+, Yehova na we yumva ijwi ryacu+ araheza araba amarushwa yacu n’ivyago vyacu n’agahahazo turimwo+. 8 Amaherezo Yehova adukuza mu Misiri ikiganza gikomeye+, n’ukuboko kuramvuye+, n’ububasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, n’ibimenyetso be n’ibitangaro+. 9 Maze atuzana aha hantu aduha iki gihugu, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 10 None ehe nzanye umushuzo w’ivyamwa vy’ubutaka Yehova yampaye+.’
“Utegerezwa rero kubitereka imbere ya Yehova Imana yawe, uheze wuname imbere ya Yehova Imana yawe+. 11 Kandi utegerezwa kunezererwa+ ivyiza vyose Yehova Imana yawe yaguhaye wewe n’urugo rwawe, n’Umulewi na kavamahanga ari hagati yawe+.
12 “Niwaheza kwegeranya ic’icumi+ cose c’umwimbu wawe mu mwaka ugira gatatu+, umwaka w’ic’icumi, uze rero ugihe Umulewi, kavamahanga, impfuvyi n’umupfakazi, na bo baze bakirire mu marembo yawe bahage+. 13 Maze uze uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: ‘Nakuye mu nzu ivyeranda ndaheza ndabiha Umulewi na kavamahanga, impfuvyi n’umupfakazi+, nisunze ibwirizwa ryawe ryose wantegetse. Sinahonyanze amabwirizwa yawe, canke ngo ndayibagire+. 14 Sinabiriyeko ndi mu kigandaro, canke ngo nkureko na gatoyi mpumanye, canke ngo ntangeko na gatoyi ku bw’uwapfuye. Narumvirije ijwi rya Yehova Imana yanje. Nakoze nisunze ivyo wantegetse vyose. 15 Nurabe hasi uri aho uba heranda+, ari ho mu majuru, uhezagire igisata cawe Isirayeli+ n’ubutaka waduhaye, nk’uko warahiye ba sogokuruza bacu+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.’
16 “Uyu musi Yehova Imana yawe agutegetse gushitsa izi ngingo nyobozi n’izi ngingo z’ubutungane+; kandi utegerezwa kuzubahiriza no kuzishitsa n’umutima wawe wose+ n’ubuzima bwawe bwose+. 17 Uno musi Yehova umuteye kuvuga ko azocika Imana yawe, niwagendera mu nzira ziwe, ukubahiriza ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe+ n’ingingo ziwe z’ubutungane+, ukongera ukumviriza ijwi ryiwe+. 18 Yehova na we uno musi aguteye kuvuga ko uzocika igisata ciwe, inyegu idasanzwe+, nk’uko yabigusezeraniye+, be n’uko uzokwubahiriza amabwirizwa yiwe yose, 19 kandi ko azogushira hejuru cane y’ayandi mahanga yose yaremye+, bivemwo ishemezo, izina ryiza n’ubwiza, niwerekana ko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+, nk’uko yasezeranye.”
27 Maze Musa, ari kumwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, abandanya gutegeka abantu ati: “Haze hubahirizwe ibwirizwa ryose ndabategetse uno musi+. 2 Kandi umusi muzojabuka Yorodani+ mwinjira mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, uze wishingire amabuye maninimanini, uyasige ishwagara. 3 Uze uyandikeko amajambo yose y’iri tegeko+ niwamara kujabuka+, kugira winjire mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe, igihugu gitemba amata n’ubuki, wisunze ivyo Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+. 4 Kandi nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+, nk’uko ndabategetse uno musi, uyasige ishwagara+. 5 Uze uhubakire igicaniro Yehova Imana yawe, igicaniro c’amabuye. Ntuze uyakozeko igikoresho c’icuma+. 6 Ico gicaniro ca Yehova Imana yawe uze ucubakishe amabuye ari uko yakabaye, uheze ugishikanireko Yehova Imana yawe amashikanwa aturirwa+. 7 Kandi utegerezwa gushikana ibimazi vy’ugusangira+, ubirire ng’aho+, kandi utegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yawe+. 8 Utegerezwa kwandika kuri ayo mabuye amajambo yose y’iri tegeko+, ku buryo asomeka neza+.”
9 Maze Musa n’abaherezi, Abalewi, babwira Isirayeli yose bati: “Cereza wumvirize, ewe Isirayeli. Uyu musi ucitse igisata ca Yehova Imana yawe+. 10 Kandi utegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe ugashitsa amabwirizwa yiwe+ n’ingingo nyobozi ziwe+ ndagutegetse uno musi.”
11 Nuko kuri uwo musi Musa abandanya gutegeka abantu ati: 12 “Aba ni bo bazohagarara ngo bahezagire abantu ku musozi Gerizimu+ nimwamara kujabuka Yorodani: Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Yozefu na Benyamini. 13 Aba na bo ni bo bazohagarara ku bwo gutanga umuvumo+ ku musozi Ebali+: Rubeni, Gadi na Asheri na Zebuloni, Dani na Nafutali. 14 Kandi Abalewi baze bishure, babwire abantu bose bo muri Isirayeli n’ijwi rirenga+, bati:
15 “‘Aravumwe umuntu akora igishusho c’ikibazano+ canke igishushanyo mu cuma gishongeshejwe+, ikintu giteye ishishi kuri Yehova+, ikintu gikozwe n’amaboko y’umuhinguzi w’ibiti n’ivyuma+, akagishira ahihishije.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen+!’)
16 “‘Aravumwe umuntu akengera se canke nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
17 “‘Aravumwe umuntu yigiza inyuma akarimbi ka mugenziwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
18 “‘Aravumwe umuntu azimiza impumyi mu nzira+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
19 “‘Aravumwe umuntu agoreka+ urubanza+ rwa kavamahanga+, rw’impfuvyi* n’urw’umupfakazi+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
20 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba yambuye impuzu* se+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
21 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’igikoko ico ari co cose+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
22 “‘Aravumwe umuntu aryamana na mushikiwe, umukobwa wa se canke wa nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
23 “‘Aravumwe umuntu aryamana na inabukwe+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
24 “‘Aravumwe umuntu akubita mugenziwe agapfa yabanje kumwinyegeza+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
25 “‘Aravumwe umuntu yemera igiturire kugira akubite umuntu apfe, kandi ari amaraso y’intungane+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
26 “‘Aravumwe umuntu atazoshira mu ngiro amajambo y’iri tegeko mu kuyashitsa+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
28 “Kandi niwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe mu kuba maso ugashitsa amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+, Yehova Imana yawe rero ntazobura kugushira hejuru y’ayandi mahanga yo kw’isi+. 2 Iyi mihezagiro yose izokuzako iguhamvye+, kuko uguma wumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe:
3 “Uzohezagirwa mu gisagara+, uhezagirwe no mu mitumba+.
4 “Hazohezagirwa icamwa c’inda yawe+, n’umwimbu w’ubutaka bwawe, n’icamwa c’ibitungwa vyawe+, n’imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe+.
5 “Hazohezagirwa igisimbo cawe+ n’igikono cawe c’ugucumba+.
6 “Uzohezagirwa winjiye, uhezagirwe usohotse+.
7 “Yehova azotuma abansi bawe baguhagurukiye batsindirwa imbere yawe+. Bazozanana inzira imwe baje kugutera, bajane inzira indwi baguhunga+. 8 Yehova azotegeka umuhezagiro uze ku bubiko bwawe bw’ibifungurwa+ no ku migambi yawe yose+, kandi azoguhezagira koko mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe. 9 Yehova azogushimangira umubere igisata ceranda+, nk’uko yabikurahiye+, kuko ubandanya kugumya amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, kandi ukaba wagendeye mu nzira ziwe. 10 Kandi ibisata vyose vy’abantu vyo kw’isi ntibizobura kubona ko witirirwa izina rya Yehova+, kandi bizogutinya koko+.
11 “Yehova kandi azoguha koko ugutunganirwa gusesekaye mu camwa c’inda yawe+, no mu camwa c’ibitungwa vyawe, no mu camwa c’ubutaka bwawe+, ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe ko azoguha+. 12 Yehova azokwugururira ikigega ciwe ciza, ari co majuru, kugira agwishe imvura ku gihugu cawe mu gihe cayo+ no kugira ahezagire igikorwa cose c’amaboko yawe+; kandi uzoha ingurane amahanga menshi, ariko wewe ubwawe nta ngurane uzosaba+. 13 Yehova azoguherereza ku mutwe, ntazoguherereza ku murizo; kandi uzoja hejuru gusa+, ntuzoja hasi, kuko uguma ugamburuka amabwirizwa+ ya Yehova Imana yawe, ayo ndagutegetse uno musi ngo uyubahirize, uyashitse. 14 Ntuze ukebereze iburyo canke ibubamfu+ ngo uve ku majambo yose ndabategetse uno musi, ngo ugendere inyuma y’izindi mana, ngo uzikorere+.
15 “Kandi nutumviriza ijwi rya Yehova Imana yawe mu kwitwararika gushitsa amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndagutegetse uno musi, iyi mivumo yose rero izokuzako, iguhamvye+:
16 “Uzovumwa mu gisagara+, uvumwe no mu mitumba+.
17 “Hazovumwa igisimbo cawe+ n’igikono cawe c’ugucumba+.
18 “Hazovumwa icamwa c’inda yawe+, n’icamwa c’ubutaka bwawe+, imitavu y’inka zawe, n’uruvyaro rw’umukuku wawe+.
19 “Uzovumwa winjiye, uvumwe usohotse+.
20 “Yehova azokurungikako umuvumo+, umuvurungano+ n’igihano+ mu migambi yawe yose ugerageza kurangura, gushika uzimanganijwe ugahona bidatevye, kubera ububi bw’ingeso zawe, kuko wantaye+. 21 Yehova azotuma ikiza kikwumirako gushika agutikije ku butaka uriko urajamwo ngo ubwigarurire+. 22 Yehova azoguteza igituntu+, n’inyonko iturira, n’ubuvyimbe, n’umururumbo, n’inkota+, n’ukubabuka kw’ibirimwa+ be n’ururyi+, bikwomeko gushika uherengeteye. 23 Amajuru yawe yo hejuru y’umutwe wawe azocika nk’ubutare bw’umujumpu, isi iri munsi yawe na yo icike nk’icuma+. 24 Yehova azotanga intumo n’umukungugu bibe yo mvura y’igihugu cawe. Izokugwako ivuye mu majuru gushika uzimanganijwe. 25 Yehova azotuma utsindwa imbere y’abansi bawe+. Uzojana inzira imwe ugiye kubatera, ujane inzira indwi ubahunga. Kandi uzocika akumiza ku bwami bwose bwo kw’isi+. 26 Umuvyimba wawe uzocika ivyo kurya vy’ibiguruka vyose vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw’ishamba, ata n’umwe abijugumiza+.
27 “Yehova azoguteza vya bihute vyo mu Misiri+, n’ibivyimba*, n’intuta, n’ibiturika, ivyo utazoshobora gukira. 28 Yehova azoguteza ibisazi+, n’uruhumyi+, n’ukuzazanirwa mu mutima+. 29 Uzogenda urakabakaba ku mutaga, nka kurya impumyi ikabakaba mu muzimagiza+, kandi ntuzotuma inzira zawe ziroranirwa; uzocika gusa uwama agungwa kandi yamburwa, ata wuri bugukize+. 30 Uzoresha umugore, uwundi mugabo amushurashuze ku nguvu+. Uzokwubaka inzu, ariko ntuzoyibamwo+. Uzotera umurima w’imizabibu, ariko ntuzonatangura kuwikorako+. 31 Ishūri yawe izokererwa ubona, ariko ntuzoyiryako na gatoyi. Indogobwa yawe izokwamburwa ubona, ariko ntizogaruka kuri wewe. Intama yawe izohabwa abansi bawe, ariko nta wuzogukiza+. 32 Abahungu bawe n’abakobwa bawe bazohabwa ikindi gisata+ amaso yawe avyitegereza, yame yipfuza kubabona, ariko amaboko yawe ata co ari bushobore+. 33 Icamwa c’ubutaka bwawe n’umwimbu wawe wose bizoribwa n’abantu utamenye+; uzocika gusa uwama agungwa kandi akandamizwa+. 34 Kandi uzosarishwa koko n’ivyo amaso yawe azoba abonye+.
35 “Yehova azoguteza ibihute bikaze ku mavi yompi no ku maguru yompi, ivyo utazoshobora gukira, kuva mu bworo bw’ikirenge gushika mu rutwariro+. 36 Yehova azogushorera+, wewe n’umwami+ uzoba wimitse ngo akuganze, uje mw’ihanga utamenye, yaba wewe canke ba sogokuruza bawe; kandi hiyo uzokorera izindi mana, z’ibiti n’amabuye+. 37 Uzocika akajoreza+, iciro ry’umugani+ n’akamenyo mu bisata vy’abantu vyose Yehova azokujanamwo.
38 “Uzojana imbuto nyinshi mu murima, ariko wimbure duke+, kuko inzige zizobiyogeza+. 39 Uzotera imirima y’imizabibu kandi uyikorere koko, mugabo nta muvinyu uzonywa canke ngo hagire ico usarura+, kuko urunyo ruzobirigata+. 40 Uzogira ibiti vy’imyelayo mu karere kawe kose, ariko nta mavuta uzokwisiga, kuko imyelayo yawe izotibagurika+. 41 Uzovyara abahungu n’abakobwa, mugabo ntibazoguma ari rwawe, kuko bazoja kugirwa imbohe+. 42 Ibiti vyawe vyose be n’icamwa c’ubutaka bwawe bizokwigarurirwa n’udukoko tuduma. 43 Kavamahanga aba hagati yawe azoguma arushiriza kuduga aja hejuru yawe, ariko weho, uzoguma urushiriza kumanuka uja hasi+. 44 Ni we azoguha ingurane, ariko weho, ntuzomuha ingurane+. Azoba umutwe, ariko weho ube umurizo+.
45 “Kandi iyo mivumo yose+ izokuzako koko, ikwomeko, iguhamvye, gushika uzimanganijwe+, kuko utumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe mu kugumya amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe yagutegetse+. 46 Kandi izoguma kuri wewe no ku ruvyaro rwawe bwa kimenyetso n’imburizi gushika igihe kitagira urugero+, 47 bitumwe n’uko utakoreye Yehova Imana yawe n’umunezero n’akanyamuneza+ ko mu mutima kubera ubwinshi wagize muri vyose+. 48 Uzobwirizwa gukorera abansi bawe+, abo Yehova azorungika kugutera, ubakorere n’inzara+ n’inyota kandi uri gusa, ukenye vyose. Kandi azokuremeka ingǒgo y’icuma kw’izosi gushika akuzimanganije+.
49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+, 50 ihanga rifise mu maso hakaze+, ritagira nkunzi ku mutama canke ngo rigirire ubutoni umusore+. 51 Kandi bazorya koko icamwa c’ibitungwa vyawe n’icamwa c’ubutaka bwawe gushika uzimanganye+, kandi nta rutete, nta muvinyu mushasha canke amavuta, nta mutavu w’inka zawe canke uruvyaro rw’umukuku wawe bazogusigariza gushika bakuranduye+. 52 Kandi bazokwugariza mu marembo yawe yose gushika impome zawe ndende kandi zikomejwe wari wizigiye zitemvye mu gihugu cawe cose; emwe, bazokwugariza mu marembo yawe yose ari mu gihugu cawe cose Yehova Imana yawe yaguhaye+. 53 Maze uzobwirizwa kurya icamwa c’inda yawe, inyama z’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ Yehova Imana yawe yaguhaye, bitewe n’ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza.
54 “Nayo umugabo wo muri wewe yorohewe kandi yadibamye, azoraba ribi+ mwene wabo, n’umugore wiwe yakunda cane n’abasigaye mu bana azoba asigaranye, 55 kugira ntihagire n’umwe aha na gatoyi ku nyama z’abana biwe azorya, kuko ata kintu namba azoba asigaranye kubera ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza mu marembo yawe yose+. 56 Nayo umugore wo muri wewe yorohewe kandi yadibamye, atigeze ahirahira ngo akoze hasi ubworo bw’ikirenge ciwe kubera yamenyereye kudibama no kubera ukworoherwa+, azoraba ribi umugabo wiwe yakunda cane n’umuhungu wiwe n’umukobwa wiwe, 57 mbere n’ingovyi yiwe isohoka iva hagati y’amaguru yiwe, n’abahungu biwe yavyaye+, kuko azobarira mu kinyegero bitumwe n’uko akenye vyose kubera ugusugerezwa be n’amaganya umwansi wawe azogusatiriza mu marembo yawe+.
58 “Nutitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko yanditse muri iki gitabu+ ngo utinye iri zina rininahaye+ kandi riteye ubwoba+, ari ryo Yehova+, Imana yawe, 59 Yehova rero ntazobura gutuma ivyago vyawe n’ivyago vy’uruvyaro rwawe biba ibisesereza cane, ivyago bikomeye kandi vy’igihe kirekire+, n’indwara zibabaza kandi z’igihe kirekire+. 60 Kandi koko azogarukana kuri wewe za ndwara zose zo mu Misiri waraba ugatinya, kandi zizokwomako vy’ukuri+. 61 Vyongeye, indwara yose n’icago cose bitanditse mu gitabu c’iri tegeko, Yehova azobizana kuri wewe gushika uzimanganijwe. 62 Kandi koko muzosigara muri imparurwa+, naho mwacitse nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+, kuko utumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe.
63 “Kandi nk’uko nyene Yehova yahimbawe no kubakorera ivyiza no kubagwiza+, ni ko Yehova azohimbarwa no kubarandura no kubazimanganya+; muzorandurwa ku butaka mugiye kwigarurira+.
64 “Kandi Yehova azogusanzaza mu bisata vyose vy’abantu kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+, kandi hiyo uzobwirizwa gukorera izindi mana utamenye, yaba wewe canke ba sogokuruza bawe, z’ibiti n’amabuye+. 65 Kandi muri ayo mahanga nta gahengwe uzoronka+, eka nta n’ahantu na hamwe h’ukuruhukira ubworo bw’ikirenge cawe buzoronka; kandi hiyo Yehova azoguha koko umutima ujugumira+, ukugwabira kw’amaso+, n’umwiheburo w’umutima. 66 Kandi ubuzima bwawe buzoba mu kaga gahebuje, wame mu bwoba ijoro n’umurango, kandi wamanire impungenge ubuzima bwawe+. 67 Bukeye uzovuga uti: ‘Icompa bukira!’, bwije na ho uti: ‘Icompa bugaca!’, kubera ubwoba bwo mu mutima wawe buzoba bugutekeye, no kubera ivyo uzobona n’amaso yawe+. 68 Kandi Yehova azogusubiza mu Misiri mu meri agucishije muri ya nzira nakubwira nti: ‘Ntuzopfa usubiye kuyibona+,’ kandi hiyo muzobwirizwa kwigurisha ku bansi bawe ngo mube abashumba n’abasukukazi+, ariko nta muguzi azoboneka.”
29 Aya ni yo majambo y’isezerano Yehova yategetse Musa kugirana na bene Isirayeli mu gihugu ca Mowabu, uretse rya sezerano yari yarapfunditse na bo i Horebu+.
2 Nuko Musa ahamagara Isirayeli yose, ababwira ati: “Mwebwe mwariboneye ibintu vyose Yehova yakoreye mu maso yanyu mu gihugu ca Misiri abikoreye Farawo n’abasavyi biwe bose n’igihugu ciwe cose+, 3 vya bihinyuza bikomeye amaso yanyu yibonera+, vya bimenyetso+ na vya bitangaro bikomeye+. 4 Yamara Yehova ntiyabahaye umutima wo kumenya, n’amaso yo kubona, n’amatwi yo kwumva, gushika n’uyu musi+. 5 ‘Mu myaka mirongo ine namaze ndabarongōra mu gahinga+, impuzu zanyu ntizabashiriyeko, n’inkweto* yawe ntiyagushiriye ku kirenge+. 6 Nta mukate mwariye+, nta n’umuvinyu n’inzoga iboreza mwanyoye, kugira mumenye yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu.’ 7 Murateba mushika aha hantu, hanyuma Sihoni umwami wa Heshiboni+ na Ogi+ umwami wa Bashani baza guhura natwe mu rugamba, mugabo turabatsinda+. 8 Turaheza dufata igihugu cabo, tugiha Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango w’Abamanase bwa ntoranwa+. 9 Mutegerezwa rero kugumya amajambo y’iri sezerano mukayashitsa, kugira mutume ikintu cose muzokora kigenda neza+.
10 “Muhagaze mwese uno musi imbere ya Yehova Imana yanyu: abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inararibonye banyu n’abarongozi banyu, umugabo wese wo muri Isirayeli+, 11 abana banyu batoyi, abagore banyu+, na kavamahanga wawe+ ari hagati mw’ikambi yawe, kuva ku wugusenyera inkwi gushika ku wukuvomera amazi+, 12 kugira ngo winjire mw’isezerano+ rya Yehova Imana yawe n’indahiro yiwe, ivyo Yehova Imana yawe agiranye nawe uno musi+; 13 kugira agushinge uno musi ngo umubere igisata+ no kugira yerekane ko ari Imana yawe+, nk’uko yabigusezeraniye akabirahira kandi ba sogokuruza bawe Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+.
14 “Iri sezerano n’iyi ndahiro rero sindabigiranye namwe gusa+, 15 ahubwo ndabigiranye n’uwuri ng’aha ahagararanye natwe uno musi imbere ya Yehova Imana yacu hamwe n’abatari ng’aha kumwe natwe uno musi+; 16 (kuko ubwanyu muzi neza ukuntu twabaye mu gihugu ca Misiri n’ukuntu twaciye hagati mu mahanga mwaciyemwo+. 17 Kandi mwahora mubona ibintu vyabo bisesemye n’ibigirwamana vyabo vy’umwanda bari bafise+, vy’ibiti n’amabuye, vy’ifeza n’inzahabu;) 18 kugira ntihabe muri mwebwe umugabo canke umugore canke urugo canke umuryango umutima wabo uhindukira uno musi ukava kuri Yehova Imana yacu ukagenda ugakorera imana z’ayo mahanga+; kugira ntihabe muri mwebwe umuzi wama icamwa c’igiterwa c’ubumara n’ic’ibamba+.
19 “Kandi umuntu niyamara kwumva amajambo y’iyi ndahiro+, hanyuma akihezagira mu mutima wiwe ati: ‘Nzogira amahoro+ naho nogendera mu kagagazo k’umutima wanje+,’ mu ntumbero yo kuzimanganya uwavomerewe neza n’uwunyotewe, 20 Yehova ntazoshima kumubabarira+, ahubwo nyabuna ishavu rya Yehova+ n’ishaka ryiwe+ bizofumbira umwotsi uwo muntu+, kandi indahiro yose yanditse muri iki gitabu+ izomugumako ata kabuza, kandi Yehova azohanagura koko izina ryiwe munsi y’amajuru. 21 Bizoba ngombwa rero ko Yehova amutandukanya+ n’iyindi miryango yose ya Isirayeli kugira amuteze ivyago nk’uko indahiro yose y’isezerano ryanditse muri iki gitabu c’itegeko iri.
22 “Kandi iyaruka ryo muri kazoza, ni ukuvuga abana banyu bazohaguruka mu nyuma zanyu, mbere n’umunyamahanga azova mu gihugu ca kure, nibamara kubona ivyago vy’ico gihugu n’indwara zaco Yehova azogiteza+, 23 amazuku n’umunyu+ n’ukururumba+, ku buryo intara yaco yose itazobibwa, canke ngo imere, canke ngo hagire n’icatsi na kimwe kimera muri yo, nka kumwe kw’itembagazwa rya Sodomu na Gomora+, Adima+ na Zeboyimu+, bimwe Yehova yatembagaza mw’ishavu ryiwe no mu burake bwiwe+; 24 emwe, amahanga yose ntazobura kuvuga ngo: ‘Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu+? Ukurungura kw’iryo shavu ryinshi kwavuye ku ki?’ 25 Maze bazovuga ngo: ‘Ni kubera bataye isezerano+ rya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiranye na bo igihe yabakura mu gihugu ca Misiri+. 26 Baragiye rero, bakorera izindi mana bongera barazunamira, imana batari baramenye, kandi atari yarabageze+. 27 Maze ishavu rya Yehova rirurumbira ico gihugu mu kuzana kuri co umuvumo wose wanditse muri iki gitabu+. 28 Ku bw’ivyo, Yehova yarabaranduranye n’imizi ku butaka bwabo n’ishavu+ n’ubushangashirwe n’uburakari bukaze, abajugunyira mu kindi gihugu nk’uko biri uyu musi+.’
29 “Ibintu bihishijwe+ ni ivya Yehova Imana yacu, ariko ibihishuwe+ ni ivyacu n’abana bacu gushika igihe kitagira urugero, kugira dushitse amajambo yose y’iri tegeko+.
30 “Kandi aya majambo yose niyagushikako, umuhezagiro+ n’umuvumo+, ivyo nashize imbere yawe, maze ukavyibuka mu mutima wawe+ uri mu mahanga yose Yehova Imana yawe yagushwiragirijemwo+, 2 hanyuma ukagaruka kuri Yehova Imana yawe+ kandi ukumviriza ijwi ryiwe wisunze ivyo ndagutegetse uno musi, wewe n’abana bawe, ukabigira n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+. 4 Naho abantu bawe bashwiragiye bazoba bari ku mpera y’amajuru, Yehova Imana yawe azokwegeranya, agukureyo+. 5 Yehova Imana yawe azokuzana koko mu gihugu ba so bigaruriye, kandi uzocigarurira ata kabuza; kandi azokugirira neza koko yongere akugwize kuruta ba so+. 6 Kandi Yehova Imana yawe azobwirizwa kugenyera umutima wawe+ n’umutima w’uruvyaro rwawe+, kugira ukunde Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose, ku bw’ubuzima bwawe+. 7 Kandi Yehova Imana yawe azoshira koko izi ndahiro zose ku bansi bawe no ku bakwanka, abaguhamye+.
8 “Nayo weho, uzohindukira wumvirize koko ijwi rya Yehova kandi ushitse amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+. 9 Kandi Yehova Imana yawe azotuma koko ugira umurengera mu gikorwa cose c’ukuboko kwawe+, mu camwa c’inda yawe n’icamwa c’ibitungwa vyawe+ n’icamwa c’ubutaka bwawe+, bitume utunganirwa+; kuko Yehova azokwongera kukwiratira akugirire neza, nk’uko yiratiye ba sogokuruza bawe+; 10 kuko uzoba wumvirije ijwi rya Yehova Imana yawe ku buryo ushitsa amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe vyanditse muri iki gitabu c’itegeko+, kuko uzoba wagarutse kuri Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+.
11 “Kuko iri bwirizwa ndagutegetse uno musi atari amananiza kuri wewe, canke ngo ribe kure cane+. 12 Ntiriri mu majuru, ku buryo umuntu yovuga ngo: ‘Ni nde azotudugira mu majuru akarituzanira, ngo aritwumvishe, natwe turishitse+?’ 13 Nta n’ubwo riri hakurya y’ikiyaga, ku buryo umuntu yovuga ngo: ‘Ni nde azotujabukira hakurya y’ikiyaga akarituzanira, ngo aritwumvishe, natwe turishitse?’ 14 Kuko iryo jambo riri hafi yawe rwose, mu kanwa kawe no mu mutima wawe+, ngo urishitse+.
15 “Raba, nshize imbere yawe uno musi ubuzima n’iciza, urupfu n’ikibi+. 16 Niwumviriza amabwirizwa ya Yehova Imana yawe, ayo ndagutegetse uno musi, ku buryo ukunda Yehova Imana yawe+, ukagendera mu nzira ziwe kandi ugashitsa amabwirizwa yiwe+ n’ivyagezwe vyiwe n’ingingo ziwe z’ubutungane+, ntuzobura rero kubaho+ no kugwira, kandi Yehova Imana yawe ntazobura kuguhezagira mu gihugu ugiye kwigarurira+.
17 “Mugabo umutima wawe niwakevya kandi wewe ntiwumvirize+, ukaryosharyoshwa koko ukunamira izindi mana, ukazikorera+, 18 ndababwije ukuri uno musi yuko muzoyogera ata kabuza+. Ntimuzorambira* ku butaka uriko urajabuka Yorodani ngo ubwigarurire. 19 Uno musi ntanze amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+, yuko nshize imbere yawe ubuzima n’urupfu+, umuhezagiro+ n’umuvumo+; kandi utegerezwa guhitamwo ubuzima kugira ubandanye kubaho+, wewe n’uruvyaro rwawe+, 20 mu gukunda Yehova Imana yawe+, mu kwumviriza ijwi ryiwe no mu kumata kuri we+; kuko ari we buzima bwawe n’uburebure bw’imisi yawe+, kugira ube ku butaka Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+.”
31 Maze Musa aragenda, abarira aya majambo Isirayeli yose, 2 ababwira ati: “Uno musi mfise imyaka ijana na mirongo ibiri+. Ntibigikunda ko nza ndagenda nongera ngaruka+, kuko Yehova yambwiye ati: ‘Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani+.’ 3 Yehova Imana yawe ni we azojabuka imbere yawe+. Ubwiwe azozimanganya ayo mahanga imbere yawe, kandi utegerezwa kuyirukana+. Yosuwa ni we azojabuka imbere yawe+, nk’uko Yehova yavuze. 4 Kandi Yehova azoyagira nk’uko yagize Sihoni+ na Ogi+, ba bami batwara Abamori, n’igihugu cabo, hamwe yabazimanganya+. 5 Kandi Yehova yarayagabuye kuri mwebwe+, namwe mutegerezwa kuyagira nk’uko ibwirizwa ryose nabategetse riri+. 6 Mugire umutima rugabo kandi mukomere+. Ntutinye canke ngo uranduke umutima imbere yabo+, kuko Yehova Imana yawe ari we agendana nawe. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere+.”
7 Nuko Musa ahamagara Yosuwa, amubwirira mu maso ya Isirayeli yose ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza aba bantu mu gihugu Yehova yarahiye ba sekuruza babo ko azobaha, kandi ubwawe uzokibaha bwa ntoranwa+. 8 Kandi Yehova ni we agendera imbere yawe. Ubwiwe azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe buhere. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.”
9 Maze Musa yandika iri tegeko+, ariha abaherezi bene Lewi+, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ariha n’abagabo b’inararibonye bose ba Isirayeli. 10 Nuko Musa abandanya kubategeka ati: “Uko haheze imyaka indwi, ku gihe cashinzwe c’umwaka w’uguheba imyenda+, ku musi mukuru w’insago+, 11 igihe Isirayeli yose izoza kuraba mu maso ha Yehova+ Imana yawe ahantu azotora+, uzosomera iri tegeko imbere ya Isirayeli yose, bose bumva+. 12 Koranya abantu+, abagabo n’abagore n’abana batoyi na kavamahanga wawe ari mu marembo yawe, kugira bumvirize no kugira bige+, kuko bategerezwa gutinya Yehova Imana yanyu+ kandi bakitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko. 13 Kandi abana babo ata co bamenye baze bumvirize+, bige gutinya Yehova Imana yanyu imisi yose muzoba muba ku butaka muriko murajabuka Yorodani ngo mubwigarurire+.”
14 Inyuma y’ivyo Yehova abwira Musa ati: “Ehe imisi y’uko upfa iregereje+. Hamagara Yosuwa, muheze muhagarare mw’ihema ry’ihuriro, kugira ndamushinge igikorwa+.” Nuko Musa na Yosuwa baragenda, bahagarara mw’ihema ry’ihuriro+. 15 Maze Yehova aboneka kuri iryo hema mu nkingi y’igicu, hanyuma nya nkingi y’igicu itangura guhagarara ku bwinjiriro bw’ihema+.
16 Yehova rero abwira Musa ati: “Ehe ugira uryame hamwe na ba sogokuruza bawe+; kandi aba bantu ntibazobura guhaguruka+ bagashurashura n’imana z’inyamahanga z’igihugu bariko barajamwo+, hagati yabo nyene, kandi bazonta koko+ barenge kw’isezerano ryanje nagiranye na bo+. 17 Maze ishavu ryanje rizobarurumbira koko kuri uyo musi+, kandi sinzobura kubata+ no kubahisha mu maso hanje+, bacike ikintu co kuyigizwa. Bazotegerezwa gushikirwa n’ivyago vyinshi n’amarushwa menshi+, kandi kuri uyo musi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Mbega ibi vyago ntivyadushikiye kubera ko Imana yacu itari hagati yacu+?’ 18 Nayo jewe, nzohisha koko mu maso hanje kuri uyo musi kubera ibibi vyose bakoze, kuko bahindukiriye izindi mana+.
19 “Ubu rero nimwiyandikire uru ruririmbo+, urwigishe bene Isirayeli+. Rushire mu kanwa kabo kugira rumbere icabona co kwagiriza bene Isirayeli+. 20 Kuko nzobazana ku butaka narahiye ba sekuruza babo+, ubutaka butemba amata n’ubuki+, kandi bazorya vy’ukuri+ bahage, badohe+, hanyuma bahindukire baje ku zindi mana+, bazikorere koko nanje bangaye kandi barenge kw’isezerano ryanje+. 21 Kandi ivyago n’amarushwa menshi nivyabashikira+, uru ruririmbo rero ruzokwishura imbere yabo bwa cabona, kuko rudakwiye kwibagirwa mu kanwa k’uruvyaro rwabo, kuko nzi neza impengamiro+ bariko baratsimbataza uno musi imbere y’uko ndabajana mu gihugu narahiye.”
22 Nuko Musa yandika urwo ruririmbo kuri uyo musi, ngo arwigishe bene Isirayeli+.
23 Hanyuma atangura gushinga igikorwa Yosuwa mwene Nuni+, ati: “Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzokwinjiza bene Isirayeli mu gihugu nabarahiye+, kandi jewe ubwanje nzogumana nawe.”
24 Maze Musa akirangiza kwandika amajambo y’iri tegeko mu gitabu, ayahejeje+, 25 atangura gutegeka Abalewi, abareruzi b’isandugu y’isezerano rya Yehova+, ati: 26 “Muze mufate iki gitabu c’itegeko+, mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi ng’aho kize kibe icabona kikwagiriza+. 27 Kuko jewe nzi neza ubugarariji bwawe+ n’izosi ryawe ridadaraye+. Aho mwarinze mugarariza Yehova+ nkiri muzima kumwe namwe uno musi, hari akantu ninamara gupfa! 28 Koraniriza hambavu yanje abagabo bose b’inararibonye b’imiryango yanyu n’abarongozi banyu+, mpeze mvuge aya majambo bumva, ntange amajuru n’isi kw’ivyabona vyo kubagiriza+. 29 Kuko nzi neza yuko ninamara gupfa mutazobura kwikwegera guhona+, kandi ntimuzobura gukevya mukava mu nzira nabategetse; kandi ivyago+ ntibizogenda bitabashikiye ku mpera y’imisi, kuko muzokora ibibi mu maso ya Yehova kugira mumubabarishe ibikorwa vy’amaboko yanyu+.”
30 Maze Musa atangura kuvuga ishengero ryose rya Isirayeli ryumva, avuga amajambo y’uru ruririmbo gushika ayahejeje+:
2 Inyigisho yanje izotonyanga nk’imvura+,
Ijambo ryanje riratemba nk’ikime+
Nk’akanyanyaga ku bwatsi+
Nk’imicuncubuko y’imvura ku vyatsi+.
4 Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,
Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane+.
Ni Imana y’ubwizigirwa+, itagira akarenganyo+;
Ni we agororotse kandi atunganye+.
6 Yehova ni we mubandanya kugira mutyo+
Ga mwa bantu b’ibijuju mutari inkerebutsi+?
Mbega si we So yakuvyaye+,
Uwakuremye akaguha kudahungabana+?
Rimbura imyaka yo hambere uva kw’iyaruka uja ku rindi;
Baza so, arakwiganira+;
Abatama bawe, barabikubwira+.
8 Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa+,
Igihe yatandukanya abana ba Adamu+,
Ni ho yashingira urubibe ibisata vy’abantu+
Afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+.
10 Yamusanze mu gihugu c’agahinga+,
Mu bugaragwa bw’urwanaga, bugaragara+.
Atangura kumukikuza+, kumwitwararika+,
Kumuzigama nk’imbone y’ijisho ryiwe+.
11 Nk’uko inkona ikomanga icari cayo,
Ikārāra hejuru y’ivyana vyayo+,
Igasanza amababa yayo, ikabitora,
Ikabitwara ku vyubi vyayo+,
12 Yehova wenyene ni we yaguma amuyobora+,
Kandi nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we+.
13 Yagumye amugendesha ku bibanza bikirurutse* vy’isi+,
Ku buryo yariye ivyamye mw’itongo+.
Kandi yaguma atuma anunuza ubuki buva mu rutare+,
N’amavuta ava mu gitandara c’isare+;
14 Amasoro y’ubusho n’amata y’umukuku+
Kumwe n’ikinure c’impfizi z’intama,
N’amasuguru y’intama, ubwoko bw’i Bashani, n’amasuguru y’impene+
Kumwe n’ikinure co kw’ifyigo c’ingano+;
Amaraso y’inzabibu ni wo muvinyu wanywa+.
15 Aho Yeshuruni*+ atanguriye kudoha, ni ho yaciye atera imigere+.
Waradoshe, warakakamye, waradigamwe+.
Yaciye aheba Imana, ari yo yamuremye+
Asuzugura Igitandara+ c’ubukiriro bwiwe.
17 Bashikanira ibimazi amadayimoni*, ntibabishikanira Imana+,
Babishikanira imana batari baramenye+,
Imana nshasha zije vuba+,
Izo ba sogokuruza banyu batari bazi.
20 Ni kwo kuvuga ati: ‘Reka ndabahishe mu maso hanje+,
Ndabe iherezo ryabo ryo hanyuma iryo ari ryo.
Kuko ari iyaruka ry’ubugorame+,
Abana batagira ubwizigirwa+.
21 Bobo banteje ishari imana y’imburakimazi+;
Banteje akababaro ibigirwamana vyabo bitagira mvura+;
Nanje nzobateza ishari abantu b’imburakimazi+;
Nzobababaza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.
22 Kuko umuriro wadometswe mw’ishavu ryanje+
Kandi uzoturira gushika mu kuzimu*, ahantu h’ibwina+,
Kandi uzoyigiza isi n’umwimbu wayo+
Kandi uzotongora imishinge y’imisozi+.
24 Bazoruhishwa n’inzara+, bamarwe n’inyonko iturira+
N’agatikizo kabishe+.
Kandi nzorungika kuri bo amenyo y’ibikoko+,
N’ubwayi bw’ibinyogomba vyo mu mukungugu+.
27 Iyo ntatinya umwikomo noterwa n’umwansi+,
Ngo abarwanizi babo bahave babitahura ukutari kwo+,
Ngo bavuge ngo: “Ukuboko kwacu ni kwo kwatsinze+,
Kandi si Yehova yakoze ivyo vyose+.”
30 Mbega umwe yokinagiza gute igihumbi,
Babiri na bo bakomora ibihumbi cumi+,
Gitandara cabo atabagurishije+,
Yehova atabatanze?
32 Kuko umuzabibu wabo uva ku muzabibu w’i Sodomu
No ku mikobeko y’i Gomora+.
Inzabibu zabo ni inzabibu z’ubumara,
Imisoko yabo irarura+.
35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.
Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,
Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+
Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’
36 Kuko Yehova azocira urubanza abantu biwe+
Kandi azokwicuza ku bijanye n’abasavyi biwe+,
Kuko azobona ko icishimikizo cazimanganye
Hakaba hasigaye gusa uwutagira gitabara, uwutagira ico amaze.
37 Kandi ntazobura kuvuga ati: ‘Za mana zabo ziri hehe+,
Ca gitandara barondeyemwo ubuhungiro+,
38 Zimwe zahora zirya ikinure c’ibimazi vyabo+,
Zikanywa umuvinyu w’amashikanwa yabo y’ibinyobwa+?
Nizihaguruke rero zibatabare+.
Nizibabere ubwihisho+.
39 Ubu rero nimubone ko jewe ubwanje ndi we+
Kandi nta zindi mana turi kumwe+.
Ndica, nkabeshaho+.
Narakomerekeje cane+, kandi ni jewe nzokiza+,
Kandi nta wushikura mu kuboko kwanje+.
40 Kuko ntarika ukuboko kwanje mw’ijuru ndahira+,
Nkavuga koko nti: “Ndahiye ukubaho kwanje kw’ibihe bidahera+,”
41 Ninaramuka nkarihije inkota yanje ica ibibatsi+,
Kandi ukuboko kwanje kukifatira mu minwe urubanza+,
Nzokwihora abarwanizi banje+
Mpembe abanyanka bimwe bikaze+.
42 Nzoboreza imyampi yanje amaraso+,
Inkota yanje na yo irye inyama+,
Iborerwe amaraso y’abagandaguwe n’ay’imbohe,
Iborerwe imitwe y’indongozi z’umwansi+.’
43 Nezerwe, mwa mahanga, kumwe n’abantu biwe+,
Kuko azohōra amaraso y’abasavyi biwe+,
Kandi azokwihora abarwanizi biwe+
Kandi koko azotangira impongano* ubutaka bw’abantu biwe.”
44 Nuko Musa araza, avuga amajambo yose y’urwo ruririmbo abantu bumva+, we na Hosheya mwene Nuni+. 45 Musa arangije kubwira Isirayeli ayo majambo yose, 46 abandanya kubabwira ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose ndababwiye ndababurira uno musi+, kugira mutegeke abana banyu kwitwararika gushitsa amajambo yose y’iri tegeko+. 47 Kuko atari ijambo ata co rimaze kuri mwebwe+; ahubwo ni ryo buzima bwanyu+, kandi biciye kuri ryo muzoshobora kurambira* ku butaka mugiye kujabuka Yorodani ngo mubwigarurire+.”
48 Yehova abwira Musa kuri uyo musi nyene ati: 49 “Duga kuri uyu musozi wa Abarimu+, umusozi Nebo+, uwuri mu gihugu ca Mowabu, urabana n’i Yeriko, urabe igihugu ca Kanani, ico ngiye guha bene Isirayeli ngo kibabere itongo bigabira+. 50 Uheze upfire kuri uyo musozi uduzeko, uhamvye abantu b’iwanyu+, nk’uko Aroni mwene wanyu yapfiriye ku musozi Horo+, agahamvya ab’iwabo; 51 kubera ko mutashikije ivyo mwategerezwa kungirira+ hagati ya bene Isirayeli kuri ya mazi y’i Meriba+ i Kadeshi mu gahinga ka Zini; kubera ko mutanyejeje hagati muri bene Isirayeli+. 52 Kuko ico gihugu uzokibonera kure, mugabo ntuzokwinjira muri nya gihugu ngira mpe bene Isirayeli+.”
33 Uyu rero ni wo muhezagiro+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ yahezagije bene Isirayeli imbere y’uko apfa. 2 Nuko atangura kuvuga ati:
“Yehova yaje ava i Sinayi+,
Yabarabirijeko ari i Seyiri+.
Yasayanganye ari mu misozi y’i Parani+,
Kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi mirongo+,
Iburyo bwiwe hakaba abarwanyi babo+.
3 Yarakunda cane abantu biwe+;
Aberanda babo bose bari mu kuboko kwawe+.
Kandi bo ubwabo baragandagaje imbere y’ibirenge vyawe+;
Batanguye kwakira amwamwe mu majambo yawe+.
5 Maze aba umwami i Yeshuruni+,
Igihe abakuru b’ico gisata bakoranira hamwe+,
Imiryango yose ya Isirayeli uko yakabaye+.
7 Uyu na wo ni wo wabaye umuhezagiro wa Yuda+, mu kubandanya ati:
“Niwumve, Yehova we, ijwi rya Yuda+,
Umuzane ku bantu b’iwabo;
Amaboko yiwe yaniganiye ivyiwe;
Kandi ubwawe umubere umufasha amukiza abarwanizi biwe+.”
“Tumimu* yawe na Urimu yawe+ ni ivy’umuntu w’intahemuka kuri wewe+,
Umwe wagereza i Masa+.
Utangura kunigana na we iruhande y’amazi y’i Meriba+,
9 Uwabwiye se na nyina ati: ‘Sinamubonye.’
Mbere na bene wabo ntiyabemanze+,
N’abahungu biwe ntiyabamenye.
Kuko bagumije ijambo ryawe+,
N’isezerano ryawe bakaguma baryubahiriza+.
10 Nibigishe Yakobo ingingo zawe z’ubutungane+,
Isirayeli na yo itegeko ryawe+.
Nibahereze imibavu* imbere y’amazuru yawe+
N’ishikanwa ritangwa uko ryakabaye ku gicaniro cawe+.
11 Hezagira inkomezi ziwe Yehova we+,
Ese wohimbarwa n’igikorwa c’amaboko yiwe+.
Nukomeretse cane mu mafyinga abamukurira hasi+,
Be n’abamwanka urunuka, kugira ntibahaguruke+.”
12 Kuri Benyamini na ho avuga+ ati:
“Umukundwa+ wa Yehova niyibereho mu mutekano iruhande yiwe+,
Amwugamike umusi wose+,
Kandi azokwibera hagati y’ibitugu vyiwe+.”
13 Kuri Yozefu na ho avuga+ ati:
“Igihugu ciwe came gihezagirwa na Yehova+
Agihe ibintu vyiza vyo mw’ijuru, n’ikime+,
Agihe n’inyenga y’amazi arundanye epfo munsi+,
14 Agihe ibintu vyiza vyezwa n’izuba+,
Agihe n’ibintu vyiza, ivyera ku mezi aharurirwa ku mboneko+,
15 Agihe n’ibintu vyizavyiza vyo mu misozi yo mu buseruko+,
Agihe n’ibintu vyiza vyo mu mirambi yamaho igihe kitagira urugero,
16 Agihe n’ibintu vyiza vyo kw’isi be n’ibiyuzuye+,
Agihe n’ugushimwa n’Umwe aba mu gisaka c’amahwa+.
Birakaza ku mutwe wa Yozefu+
No ku rutwariro rw’uwakuwe muri bene wabo+.
17 Ubwiza bwakaka bwiwe ni nk’ubw’ishūri y’uburiza+,
Amahembe yiwe ni amahembe y’ishūri y’inyeshamba+.
Ni yo azosunikisha ibisata vy’abantu+
Vyose hamwe gushika ku mpera z’isi,
Kandi ni yo bihumbi mirongo vya Efurayimu+,
Kandi ni yo bihumbi vya Manase.”
18 Kuri Zebuloni na ho avuga+ ati:
“Nezererwa amasohoka yawe Zebuloni we+,
Nawe Isakari, unezererwe amahema yawe+.
19 Bazokoraniriza ibisata vy’abantu ku musozi.
Aho ni ho bazoshikanira ibimazi vy’ubugororotsi+.
Kuko bazokwonka ubutunzi bubogaboga bw’ibiyaga+
Be n’ubutunzi bunyegejwe bwo ku musenyi.”
20 Kuri Gadi na ho avuga+ ati:
“Arahezagiwe uwagura imipaka ya Gadi+.
Azokwiberaho nk’intambwe+,
Kandi azotabagura ukuboko, mbere n’urutwariro+.
21 Azotora umugabane wa mbere+,
Kuko ari ho umuturi w’uwushinga ivyagezwe ubitswe+.
Kandi abakuru b’abantu bazokoranira hamwe.
Azoshitsa koko ubugororotsi bwa Yehova
Be n’ingingo ziwe z’ubutungane kuri Isirayeli.”
23 Kuri Nafutali na ho avuga+ ati:
“Nafutali ahaze ugushimwa,
Kandi yuzuye umuhezagiro wa Yehova.
Niwigabire uburengero n’ubumanuko+.”
24 Kuri Asheri na ho avuga+ ati:
“Asheri arahezagijwe abana+.
Nacike uwushimwa na bene wabo+,
N’uwuvobeka ikirenge ciwe mu mavuta+.
25 Icuma n’umujumpu ni vyo vyugazo vyawe vy’irembo+,
Kandi ugushogomanga kwawe guhwanye n’imisi yawe.
26 Nta n’umwe ameze nka ya Mana y’ukuri+ y’i Yeshuruni+,
Imwe igendera kw’ijuru kugira igutabare+
No ku majuru yuzuye ibicu mu bukuru bwayo+.
27 Ya Mana yo mu gihe ca kera ni ubwikingo+,
Munsi na ho hari ya maboko yamaho igihe kitagira urugero+.
Azokwirukana umwansi imbere yawe+,
Kandi azovuga ati: ‘Bazimanganye+!’
28 Isirayeli izokwiberaho mu mutekano+,
Rya sôko rya Yakobo ryibere ukwa ryonyene+,
Mu gihugu c’intete n’umuvinyu mushasha+.
Egome, amajuru azoreka ikime gitonyange+.
Ni nde ameze nkawe+,
Igisata cifitiye ubukiriro kuri Yehova+,
Inkinzo y’ugutabarwa kwawe+,
Akaba na we nkota yawe iminuje+?
Abansi bawe rero bazohinda agashitsi imbere yawe+,
Ariko wewe, ku bibanza vyabo bikirurutse ni ho uzogendera+.”
34 Maze Musa araduga avuye mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu aja ku musozi Nebo+, kw’isonga rya Pisiga+, aharabana n’i Yeriko+. Hanyuma Yehova amwereka nya gihugu cose: kuva i Gileyadi gushika i Dani+, 2 na Nafutali yose be n’igihugu ca Efurayimu na Manase n’igihugu cose ca Yuda gushika ku kiyaga co mu burengero+, 3 na Negebu+ n’intara+ ya Yorodani, ikiyaya c’umubande c’i Yeriko, ca gisagara c’ibigazi+, gushika i Zowari+.
4 Maze Yehova amubwira ati: “Iki ni co gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, nti: ‘Uruvyaro* rwawe ni rwo nzogiha+.’ Ndakikweretse ngo ukibone n’amaso yawe bwite, kuko utazojabuka ngo ujeyo+.”
5 Inyuma y’ivyo Musa umusavyi wa Yehova+ apfira ng’aho mu gihugu ca Mowabu, kw’itegeko rya Yehova+. 6 Hanyuma amuhamba mu mubande mu gihugu ca Mowabu imbere ya Beti-peyori+, kandi nta wigeze amenya imva yiwe gushika n’uyu musi+. 7 Kandi Musa yari afise imyaka ijana na mirongo ibiri igihe yapfa+. Amaso yiwe ntiyari bwabone ivyijiji+, n’inkomezi ziwe ntizari bwamuveko+. 8 Nuko bene Isirayeli batangura kuririra Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu imisi mirongo itatu+. Amaherezo, imisi y’amarira y’ukugandarira Musa irarangira.
9 Kandi Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi+, kuko Musa yari yamurambitseko ikiganza+. Bene Isirayeli batangura kumwumviriza, baraheza bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa+. 10 Mugabo ntiharigera hongera guhaguruka muri Isirayeli umuhanuzi ameze nka Musa+, uwo Yehova yari azi amaso mu yandi+, 11 ku bijanye na vya bimenyetso vyose na vya bitangaro Yehova yamutuma gukora mu gihugu ca Misiri abikorera Farawo n’abasavyi biwe bose n’igihugu ciwe cose+, 12 no ku biraba ca kiganza gikomeye cose na bwa bubasha bukomeye kandi buteye akoba Musa yakoresha mu maso ya Isirayeli yose+.
Canke, “intara yo hasi.”
Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Ni nka cm 44,5.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “ntimuzorehura imisi yanyu.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “murehure imisi yanyu.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.
Ijambo ku rindi ni “Imana y’imana.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Ni ukuvuga umuntu uko ari wese.
Ijambo ku rindi ni “gutangira.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Canke, “ube ingumyi.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”
Ijambo ku rindi ni “kurehura imisi yiwe.”
Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”
Raba Inyongera ya 21.
Kwari ukwezi guharurirwa ku mboneko.
Ijambo ku rindi ni “Intango y’ububasha bwiwe bwo kurondoka.”
Ijambo ku rindi ni “urehure imisi yawe.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Canke, “isandali.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Ijambo ku rindi ni “igice co hepfo c’impuzu.”
Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.
Canke, “isandali.”
Ijambo ku rindi ni “Ntimuzorehura imisi yanyu.”
Raba Inyongera ya 21.
Bisobanura ngo “Umugororotsi;” ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
Raba Inyongera ya 21.
Mu giheburayo ni “Sheoli” (she’ohlʹ). Raba Inyongera ya 7.
Canke, “abantu bapfa.”
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “muzoshobora kurehura imisi yanyu.”
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “ububani.”
Ijambo ku rindi ni “urubuto.”