ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Yosuwa 1:1-24:33
  • Yosuwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yosuwa
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Yosuwa

Yosuwa

1 Inyuma y’urupfu rwa Musa umusavyi wa Yehova, Yehova abwira Yosuwa+ mwene Nuni, umusuku wa Musa+, ati: 2 “Musa umusavyi wanje yapfuye+; ubu rero haguruka, ujabuke uru ruzi Yorodani, wewe n’aba bantu bose, mwinjire mu gihugu ngira ndabahe, egome, ico ngira mpe bene Isirayeli+. 3 Ahantu hose ikirenge canyu kizohonyora, nzohabaha ata gukeka, nk’uko nasezeraniye Musa+. 4 Guhera mu gahinga, n’iyi Libani, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate, ni ukuvuga igihugu cose c’Abaheti+, no gushika ku Kiyaga Kinini amaja mu burengero bw’izuba, ni ko kazoba akarere kanyu+. 5 Nta n’umwe azohagarara imbere yawe imisi yose y’ubuzima bwawe+. Nk’uko nabanye na Musa ni ko nzobana nawe+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe buhere+. 6 Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzotuma aba bantu batorana+ igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha+.

7 “Gusa ugire umutima rugabo kandi ukomere cane kugira witwararike gukora wisunze itegeko ryose Musa umusavyi wanje yagutegetse+. Ntukevye ngo uve kuri ryo, ngo ukebereze iburyo canke ibubamfu+, kugira ngo ukorane ubukerebutsi aho uzoja hose+. 8 Iki gitabu c’itegeko ntikize kive mu kanwa kawe+; uze usome muri co n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri co vyose+; kuko ari ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+. 9 None si jewe ndagutegetse+? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ucike ivutu+, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.”

10 Nuko Yosuwa ategeka abarongozi b’abantu ati: 11 “Nimuce hagati mw’ikambi maze mutegeke abantu muti: ‘Nimwitegurire impamba, kuko mu misi itatu uhereye ubu muzojabuka uru ruzi Yorodani kugira mwinjire kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo mucigarurire+.’”

12 Hanyuma Yosuwa abwira Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase ati: 13 “Nimwibuke ijambo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: ‘Yehova Imana yanyu abahaye akaruhuko, kandi yabahaye iki gihugu. 14 Abagore banyu n’abana banyu batoyi n’ibitungwa vyanyu bizoba mu gihugu Musa yabahaye hakuno ya Yorodani+; mugabo mwebwe muzojabuka nk’abatonze urugamba+ imbere ya bene wanyu, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi bose+, kandi muze mubafashe. 15 Yehova niyaha akaruhuko bene wanyu nk’uko yagahaye mwebwe, na bo bakigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+, ni ho rero muzogaruka mu gihugu muzokwiganzira maze mucigarurire+, ico Musa umusavyi wa Yehova yabahaye ku ruhande rwa Yorodani ruherereye iyo izuba rirasira+.’”

16 Na bo rero bishura Yosuwa bati: “Ivyo udutegetse vyose tuzobikora, kandi aho uzodutuma hose tuzogenda+. 17 Nk’uko twumvirije Musa mu kintu cose, ni ko na wewe tuzokwumviriza. Gusa, Yehova Imana yawe abane nawe+ nk’uko nyene yabanye na Musa+. 18 Umuntu wese azogarariza itegeko ryawe+ ntiyumvirize amajambo yawe mu vyo uzomutegeka vyose, azokwicwa+. Gusa, ugire umutima rugabo kandi ukomere+.”

2 Maze Yosuwa mwene Nuni arungika mu mpisho abagabo babiri ngo baje gutata, bavuye i Shitimu+, avuga ati: “Nimugende, mwihweze ico gihugu na Yeriko.” Nuko baragenda hanyuma bashika ku nzu y’umugore w’umumaraya yitwa Rahabu+, maze baka indaro ng’aho. 2 Mu nyuma umwami wa Yeriko abwirwa ngo: “Ehe, abagabo bo muri bene Isirayeli binjiye ng’aha muri iri joro kugira ngo bagendure igihugu.” 3 Umwami wa Yeriko aca atuma kuri Rahabu ati: “Sohora abagabo baje iwawe, binjiye mu nzu yawe, kuko bazanywe no kugendura igihugu cose+.”

4 Ariko nya mugore afata nya bagabo babiri arabahisha. Avuga rero ati: “Egome, abo bagabo baje koko iwanje, mugabo sinari nzi iyo bava. 5 Igihe co kwugara irembo+ kigeze, buhwibiriye, nya bagabo baciye basohoka. Ni ukuri sinzi iyo abo bagabo bagiye. Nimubome inyuma ningoga, kuko muza kubahamvya.” 6 (Ariko we yari yabaduganye ku gisenge+, abanyegeza mu duti tw’ilino* yari yaritondekeye mu misitari ku gisenge.) 7 Nuko nya bagabo baboma inyuma berekeza kuri Yorodani ku vyambu+, maze abo bagabo babomye inyuma bakimara gusohoka, amarembo arugarwa.

8 Bamwe bandi na bo, batararyama, uwo mugore ubwiwe aduga iyo bari ku gisenge. 9 Abwira abo bagabo ati: “Emwe, ndazi yuko Yehova atazobura kubaha iki gihugu+, be n’uko twacitse ivutu kubera mwebwe+, kandi ko ababa mu gihugu bose badendebutse kubera mwebwe+. 10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+. 11 Tuvyumvise, imitima yacu yaciye itangura gushonga+, kandi nta n’umwe yasubiye kugira umutima rugabo kubera mwebwe+, kuko Yehova Imana yanyu ari Imana mu majuru hejuru no kw’isi hasi+. 12 Ubu rero, kubera ko nabagiriye ubuntu bwuzuye urukundo, ndabinginze mundahire Yehova+ yuko namwe ata gukeka muzogirira ubuntu bwuzuye urukundo urugo rwa dawe+, kandi mumpe ikimenyetso co kwizigirwa+. 13 Muze muzigamire ubuzima dawe+ na mawe na basazanje na bene wacu n’ababo bose, kandi muze murokore ubuzima bwacu mubukize urupfu+.”

14 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Twebwe tuzopfa mu kibanza canyu+! Nimutatumenera ibanga, ibi rero ni vyo bizoba: Yehova niyaduha iki gihugu, ntituzobura kukugirira ubuntu bwuzuye urukundo be n’ubwizigirwa+.” 15 Maze abururutsa ku mugozi baciye mw’idirisha, kuko inzu yiwe yari ifatanye n’uruhome, kandi ku ruhome ni ho yaba+. 16 Nuko ababwira ati: “Nimuje mu karere k’imisozi, kugira ntimuhure n’abariko babakurikira; mugume munyegeyeyo imisi itatu, gushika abariko babakurikira bagarutse; mu nyuma mushobora kwigira.”

17 Nya bagabo na bo bamubwira bati: “Nta caha kitwagira ku bijanye n’iyi ndahiro yawe uturahije+. 18 Ehe tugira tuze muri iki gihugu. Uyu mugozi w’inyuzi z’agahama uze uwubohere mw’idirisha utwururukirijemwo, kandi so na nyoko na basazawe n’urugo rwa so rwose uze ubegeranirize aho uri mu nzu+. 19 Kandi uwo wese azorenga imiryango y’inzu yawe agasohoka hanze+, amaraso yiwe azoba ku mutwe wiwe, twebwe nta caha kizotwagira; kandi umuntu wese azogumana nawe mu nzu, amaraso yiwe azoba ku mitwe yacu nihagira uwumukozako ukuboko. 20 Mugabo niwatumenera ibanga+, nta caha kizotwagira ku bijanye n’iyi ndahiro uturahije.” 21 Na we avuga ati: “Nibibe nk’uko muvuze.”

Aca arabarungika barigira. Inyuma y’ivyo abohera wa mugozi w’agahama mw’idirisha. 22 Nuko baragenda, bashika mu karere k’imisozi maze bagumayo imisi itatu, gushika abariko babakurikira bagarutse. Kandi abo bariko babakurikira bariko babarondera mu nzira zose, ariko ntibababona. 23 Nya bagabo babiri bongera kumanuka bavuye muri nya karere k’imisozi hanyuma barajabuka, baza aho Yosuwa mwene Nuni ari, batangura kumwiganira ibintu vyose vyari vyabashikiye. 24 Hanyuma babwira Yosuwa bati: “Yehova yatanze igihugu cose mu kuboko kwacu+. Ni co gituma ababa mu gihugu bose badendebutse kubera twebwe+.”

3 Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, maze we hamwe na bene Isirayeli bose baragenda bavuye i Shitimu+, bashika kuri Yorodani; barara ng’aho imbere y’uko bajabuka.

2 Ya misi itatu irangiye+, abarongozi+ batangura guca hagati mw’ikambi 3 no gutegeka abantu bati: “Mukimara kubona isandugu y’isezerano rya Yehova Imana yanyu n’abaherezi, Abalewi, bayireruye+, muzoce mugenda muvuye aho muri, muyikurikire. 4 Yamara, hagati yanyu na yo haze habe umwanya ureha n’amatambwe* nk’ibihumbi bibiri+; ntimuze muyegere. Gutyo muzoshobora kumenya inzira mukwiye kujana, kuko mutari bwigere mujabukana iyo nzira.”

5 Nuko Yosuwa abwira abantu ati: “Mwiyeze+, kuko ejo Yehova azokora ibintu vy’agatangaza hagati muri mwebwe+.”

6 Maze Yosuwa abwira abaherezi ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+ hanyuma mugende imbere y’abantu.” Batora rero isandugu y’isezerano hanyuma baja imbere y’abantu.

7 Yehova abwira rero Yosuwa ati: “Uyu musi ndaza gutangura kukugira uwukomeye mu maso ya Isirayeli yose+, kugira bamenye yuko, nk’uko nabanye na Musa+, nzobana nawe+. 8 Nawe, uze utegeke+ abaherezi bareruye isandugu y’isezerano uti: ‘Nimwamara gushika ku mubari w’amazi ya Yorodani, muze muhagarare+ muri Yorodani.’”

9 Yosuwa abandanya kubwira bene Isirayeli ati: “Nimwegere ng’aha mwumvirize amajambo ya Yehova Imana yanyu.” 10 Hanyuma Yosuwa avuga ati: “Iki ni co muzomenyerako yuko Imana nzima iri hagati muri mwebwe+, be n’uko izokwirukana ata kabuza imbere yanyu Abanyakanani n’Abaheti n’Abahiwi n’Abaperizi n’Abagirugashi n’Abamori n’Abayebusi+. 11 Ehe isandugu y’isezerano ry’Umukama w’isi yose igira ibaje imbere muri Yorodani. 12 Ubu rero nimwitorere abagabo cumi na babiri bo mu miryango ya Isirayeli, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose+. 13 Ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu ya Yehova Umukama w’isi yose nivyaba bigihonyora mu mazi ya Yorodani, amazi ya Yorodani azocibwamwo kubiri, amazi amanuka ava ruguru, kandi azohagarara abe urugomero+ rumwe.”

14 Nuko aho abantu baviriye mu mahema yabo, imbere gatoyi y’uko bajabuka Yorodani, imbere yabo hakaba hari abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano, 15 kandi abareruzi b’Isandugu bakimara gushika kuri Yorodani, hanyuma ibirenge vy’abaherezi bareruye Isandugu bikadibikwa ku mubari w’amazi (urwo Yorodani ruhora rurenga inkombe+ zarwo zose imisi yose y’iyimbura), 16 amazi yariko amanuka avuye ruguru aca arahagarara. Araduga aba urugomero+ rumwe kure cane i Adamu, igisagara kiri iruhande ya Zaretani+, mugabo ayamanuka ku kiyaga co muri Araba, ikiyaga c’Umunyu+, arahera. Agaburwamwo kubiri, maze abantu bajabukira aharabana na Yeriko. 17 Muri ico gihe, abaherezi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova baguma bahagaze badakoma ku butaka bwumutse+ hagati muri Yorodani mu gihe Isirayeli yose yariko ijabuka iciye ku butaka bwumutse+, gushika ihanga ryose rirangije kujabuka Yorodani.

4 Ihanga ryose rikirangiza kujabuka Yorodani+, Yehova abwira Yosuwa ati: 2 “Nimwitorere abagabo cumi na babiri mu bantu, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose+, 3 ubategeke uti: ‘Nimwitorere amabuye cumi n’abiri+ hagati nyene muri Yorodani, mu kibanza ibirenge vy’abaherezi vyahagazemwo bidakakaza+, muyajane maze muyatereke mu kibanza c’uburaro+ muza kuraramwo iri joro.’”

4 Yosuwa ahamagara rero abagabo cumi na babiri+ yari yahisemwo muri bene Isirayeli, umugabo umwe ku muryango umwumwe wose; 5 hanyuma Yosuwa ababwira ati: “Nimuje imbere y’isandugu ya Yehova Imana yanyu hagati muri Yorodani, maze umwe wese muri mwebwe atore ibuye arishire ku rutugu, nk’uko igitigiri c’imiryango ya bene Isirayeli kiri, 6 kugira ngo ivyo bibe ikimenyetso hagati muri mwebwe+. Abana banyu nibababaza mu gihe kizoza bati: ‘Kubera iki mufise aya mabuye+?’, 7 muze rero mubabwire muti: ‘Ni kubera yuko amazi ya Yorodani yagabuwemwo kubiri imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova+. Igihe isandugu yaca muri Yorodani, amazi ya Yorodani yaragabuwemwo kubiri, kandi aya mabuye abwirizwa kubera icibutso bene Isirayeli gushika igihe kitagira urugero*+.’”

8 Bene Isirayeli rero bakora kuno, nk’uko nyene Yosuwa yari yategetse: batora amabuye cumi n’abiri hagati muri Yorodani, nk’uko nyene Yehova yari yabwiye Yosuwa, kugira ngo ahure n’igitigiri c’imiryango ya bene Isirayeli+; hanyuma bayatwara mu kibanza c’uburaro+, bayaterekaho.

9 Hari n’amabuye cumi n’abiri Yosuwa yashinze hagati muri Yorodani mu kibanza ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu y’isezerano vyahagazemwo+, kandi ni ho akiri gushika n’uyu musi.

10 Nya baherezi bareruye Isandugu bari bahagaze hagati+ muri Yorodani gushika ivyo Yehova yari yategetse Yosuwa kubwira abantu vyose birangiye, nk’uko ivyo Musa yari yategetse Yosuwa vyose vyari+. Ico gihe abantu bihutira+ kujabuka. 11 Abantu bose barangije kujabuka, isandugu+ ya Yehova na yo ica irajabuka, be n’abaherezi, bajabuka abantu bitegereza. 12 Bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase+ batangura kujabuka nk’abatonze urugamba+ mu maso ya bene Isirayeli, nk’uko nyene Musa yari yarababwiye+. 13 Abagabo nk’ibihumbi mirongo ine bafise ibikenewe ku bw’ingabo barajabuka imbere ya Yehova ku bw’intambara, baja mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.

14 Kuri uwo musi Yehova agira Yosuwa uwukomeye mu maso ya Isirayeli yose+, maze baramutinya, nk’uko nyene bari baratinye Musa, imisi yose y’ubuzima bwiwe+.

15 Yehova abwira Yosuwa ati: 16 “Tegeka abaherezi bareruye isandugu y’igishingantahe+ baduge bave muri Yorodani.” 17 Yosuwa rero ategeka nya baherezi ati: “Nimuduge muve muri Yorodani.” 18 Nya baherezi bari bareruye isandugu+ y’isezerano rya Yehova baduze bakava hagati muri Yorodani kandi bagakurayo ibirenge+ vyabo bagahonyora ku butaka bwumutse, amazi ya Yorodani aca atangura gusubira mu kibanza cayo, ararenga+ inkombe zarwo zose nka mbere.

19 Nuko abantu baduga bavuye muri Yorodani ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa mbere, bakambika i Gilugali+ ku mupaka wa Yeriko wo mu buseruko.

20 Nayo ya mabuye cumi n’abiri bari bakuye muri Yorodani, Yosuwa ayashinga i Gilugali+. 21 Hanyuma abwira bene Isirayeli ati: “Abana banyu nibabaza ba se mu gihe kizoza bati: ‘Aya mabuye asobanura iki+?’, 22 muze rero mumenyeshe abana banyu muti: ‘Isirayeli yajabutse uru ruzi Yorodani iciye kw’isi yumutse+, 23 igihe Yehova Imana yanyu yakamya amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bamaze kujabuka, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yari yarabigize ku kiyaga Gitukura igihe yagikamya imbere yacu gushika tumaze kujabuka+; 24 kugira ngo ibisata vy’abantu vyose vyo kw’isi bimenye ukuboko kwa Yehova+, kandi bimenye yuko gukomeye+; kugira ngo mutinye koko Yehova Imana yanyu nantaryo+.’”

5 Abami bose b’Abamori+ bari ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero, n’abami bose b’Abanyakanani+ bari iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva yuko Yehova yari yakamije amazi ya Yorodani imbere ya bene Isirayeli gushika bamaze kujabuka, imitima yabo ica itangura gushonga+, ntibasubira kugira umutima rugabo kubera bene Isirayeli+.

2 Ico gihe nyene, Yehova abwira Yosuwa ati: “Niwihingurire imbugita z’ibuye ry’isare, usubire kugenyera+ bene Isirayeli ubugira kabiri.” 3 Nuko rero Yosuwa yihingurira imbugita z’ibuye ry’isare, agenyerera bene Isirayeli i Gebeyati-hayaraloti+. 4 Iki ni co catumye Yosuwa agira iryo genyera: abantu bose bavuye mu Misiri, ab’igitsina-gabo, abarwanyi bose, bari barapfiriye+ mu gahinga ku nzira igihe bari bavuye mu Misiri. 5 Kuko abantu bose bavuyeyo bari baragenyerewe, mugabo abantu bose bavukiye mu gahinga, ku nzira, igihe bari bavuye mu Misiri ntibari baragenyerewe. 6 Kuko bene Isirayeli bari bamaze imyaka mirongo ine+ bagendagenda mu gahinga, gushika ihanga ryose ry’abarwanyi bavuye mu Misiri batumvirije ijwi rya Yehova rirangiye, abo Yehova yarahiye yuko atokwigeze areka ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza babo ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 7 Mugabo yahagurukije abahungu babo mu kibanza cabo+. Bano ni bo Yosuwa yagenyereye, kubera ko batari bagenyereye, kuko batari barabagenyereye ku nzira.

8 Nuko ihanga ryose rihejeje kugenyerwa, baguma bicaye mu kibanza cabo mw’ikambi gushika bagaruye agatege+.

9 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Uno musi nakuye iceyi ca Misiri kuri mwebwe+.” Aho hantu rero bahita Gilugali+ gushika n’uyu musi.

10 Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11 Ku musi w’inyuma ya pasika, batangura kurya ku mwimbu w’ico gihugu, udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zicishijwe ku muriro, kuri uwo musi nyene. 12 Nuko manu* ireka kuboneka ku musi ukurikira, igihe bari bariye ku mwimbu w’ico gihugu; manu ntiyasubira kuboneka ku bwa bene Isirayeli+, maze batangura kurya ku mwimbu w’igihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.

13 Yosuwa ari hafi ya Yeriko, araramura amaso araraba, maze abona ng’aho hari umugabo+ yari ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota yiwe ayifise mu kuboko+. Yosuwa rero aja iyo ari, amubwira ati: “Uri ku ruhande rwacu canke ku rw’abaturwanya?” 14 Na we avuga ati: “Oya, ahubwo jewe ubu naje bwa mukuru w’ingabo za Yehova+.” Yosuwa aca yubarara hasi+, akubita inkoro hasi maze amubwira ati: “Umukama wanje agira abwire iki umusavyi wiwe?” 15 Nya mukuru w’ingabo za Yehova na we abwira Yosuwa ati: “Kura inkweto* zawe ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari heranda.” Yosuwa aca agira kuno+.

6 Kandi i Yeriko hari hugaye hadadiye kubera bene Isirayeli, ata wusohoka kandi ata n’uwinjira+.

2 Yehova abandanya kubwira Yosuwa ati: “Raba, ntanze mu kuboko kwawe Yeriko n’umwami waho, n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+. 3 Namwe mwese abarwanyi muze muzunguruke igisagara, mukizunguruke incuro imwe. Ukwo ni ko uzobigira imisi itandatu. 4 Abaherezi indwi baze batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama, baje imbere y’Isandugu; ku musi ugira indwi muze muzunguruke igisagara incuro indwi, kandi nya baherezi baze bavuze nya nzamba+. 5 Nibavuza ihembe ry’impfizi y’intama maze mukumva iryo jwi ry’inzamba, abantu bose baze bavuze akaruru k’intambara gakomeye+; uruhome rw’ico gisagara ruzohomvokera hasi+; abantu bazoce baduga, umwe wese atumbereye imbere yiwe.”

6 Nuko rero Yosuwa mwene Nuni ahamagara abaherezi+ ababwira ati: “Nimutore isandugu y’isezerano+, kandi abaherezi indwi batware inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama baje imbere y’isandugu+ ya Yehova.” 7 Maze yongera kubwira abantu ati: “Gende muzunguruke ico gisagara, kandi inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara+ zigende imbere y’isandugu ya Yehova.” 8 Nuko biba nk’uko nyene Yosuwa yabwiye abantu; abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere ya Yehova baragenda hanyuma bavuza izo nzamba, kandi isandugu y’isezerano rya Yehova yariko ibakurikira. 9 Za nteko zifise ibikenewe ku bw’intambara zariko zigendera imbere y’abaherezi bariko bavuza inzamba, mu gihe abacunzi b’inyuma+ bariko bakurikira Isandugu inzamba zibandanya kuvuzwa.

10 Kandi Yosuwa yari yategetse abantu+ ati: “Ntimusemerere canke ngo mwumvikanishe amajwi yanyu, kandi ntihagire ijambo riva mu kanwa kanyu gushika umusi nzobabwira nti: ‘Semerere!’ Muzoheza rero musemerere+.” 11 Nuko atuma isandugu ya Yehova izunguruka igisagara, ikizunguruka incuro imwe, hanyuma baja mw’ikambi bararayo.

12 Maze Yosuwa avyuka kare mu gitondo+, abaherezi na bo barerura isandugu+ ya Yehova; 13 abaherezi indwi batwaye inzamba indwi z’amahembe y’impfizi z’intama imbere y’isandugu ya Yehova bǎgenda baravuza inzamba badahagarika; inteko zifise ibikenewe ku bw’intambara na zo zagendera imbere yabo, mu gihe abacunzi b’inyuma bari bakurikiye isandugu ya Yehova inzamba zibandanya kuvuzwa+. 14 Ku musi ugira kabiri bazunguruka igisagara incuro imwe, hanyuma bagaruka mw’ikambi. Ukwo ni ko bagize imisi itandatu+.

15 Nuko ku musi ugira indwi bavyuka kare, umutwenzi ugitambika, maze bazunguruka igisagara muri ubwo buryo incuro indwi. Kuri uwo musi gusa ni ho bazungurutse igisagara incuro indwi+. 16 Ku ncuro igira indwi, nya baherezi bavuza inzamba, maze Yosuwa abwira abantu ati: “Semerere+; kuko Yehova abahaye iki gisagara+. 17 Kandi iki gisagara gitegerezwa kuba ikintu co gutikizwa+; co hamwe n’ibiri muri co vyose ni ivya Yehova. Rahabu+ wa mumaraya ni we gusa aza kuguma ari muzima, we n’abari kumwe na we mu nzu bose, kuko yanyegeje za ntumwa twarungika+. 18 Nayo mwebwe, mwirinde gusa ikintu co gutikizwa+, kugira ngo ntimugire icipfuzo+ ngo mutore koko ku kintu co gutikizwa+ maze mugatuma koko ikambi ya Isirayeli iba ikintu co gutikizwa, mukayikwegera gukumirwa+. 19 Mugabo ifeza zose n’inzahabu zose n’ibintu vy’umujumpu n’ivy’icuma, ni ikintu ceranda cegukira Yehova+. Kize kije mw’itunga rya Yehova+.”

20 Batanguye kuvuza inzamba, abantu baca barasemerera+. Nuko abantu bakimara kwumva ijwi ry’inzamba hanyuma bagatangura kuvuza akaruru k’intambara gakomeye, uruhome ruca rutangura guhomvokera hasi+. Inyuma y’ivyo, abantu baduga mu gisagara, umwe wese atumbereye imbere yiwe, maze bafata nya gisagara. 21 Hanyuma batikiza ivyari mu gisagara vyose n’ubugi bw’inkota, kuva ku mugabo gushika ku mugore, kuva ku musore gushika ku mutama no gushika kw’ishūri n’intama n’indogobwa+.

22 Yosuwa abwira ba bagabo babiri bari baratase ico gihugu ati: “Nimwinjire mu nzu ya wa mugore, umwe maraya, mumusohorane n’abiwe bose, nk’uko nyene mwabimurahiye+.” 23 Abo basore bari baratase ico gihugu barinjira rero, basohora Rahabu na se na nyina na basazawe n’abiwe bose, egome, basohora abo mu muryango wiwe bose+; maze babashira inyuma y’ikambi ya Isirayeli.

24 Nuko baturiza umuriro ico gisagara n’ikintu cose cari muri co+. Ifeza n’inzahabu n’ibintu vy’umujumpu n’ivy’icuma ni vyo gusa batanze ngo bishirwe mw’itunga ry’inzu ya Yehova+. 25 Mugabo Rahabu wa mumaraya n’urugo rwa se n’abiwe bose, Yosuwa abazigamira ubuzima+; Rahabu aba hagati muri Isirayeli gushika n’uyu musi+, kuko yanyegeje za ntumwa Yosuwa yarungika gutata Yeriko+.

26 Maze Yosuwa arahiza indahiro ico gihe nyene ati: “Arakavumwa imbere ya Yehova umugabo azohaguruka akubaka koko iki gisagara, egome, iki gisagara Yeriko. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe, kandi niyahagarika imiryango yaco aze abure umuhererezi wiwe+.”

27 Gutyo, Yehova abana na Yosuwa+, ukuba rurangiranwa kwiwe gukwiragira mw’isi yose+.

7 Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+.

2 Maze Yosuwa arungika abagabo bavuye i Yeriko ngo baje i Ayi+ hafi ya Beti-aveni+, mu buseruko bwa Beteli+, ababwira ati: “Duge mutate ico gihugu.” Nuko nya bagabo baduga gutata Ayi+. 3 Mu nyuma bagaruka kuri Yosuwa, bamubwira bati: “Ntihaduge abantu bose. Abagabo nk’ibihumbi bibiri canke bitatu babe ari bo baduga gutera Ayi. Ntiwirirwe uraruhisha abantu bose ubarungikayo, kuko abaho ari bake.”

4 Hadugayo rero abagabo nk’ibihumbi bitatu bo mu bantu, mugabo barahunga imbere y’abagabo b’i Ayi+. 5 Nya bagabo b’i Ayi bica muri bo abagabo nka mirongo itatu na batandatu, babomako+ kuva imbere y’irembo gushika i Shebarimu, bagenda barabica ku mumanuko. Ku bw’ivyo umutima w’abantu utangura gushonga, ucika nk’amazi+.

6 Yosuwa aca atantamura imitamana yiwe, agwa yubamye+ ashika hasi imbere y’isandugu ya Yehova gushika ku mugoroba, we hamwe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli; baguma basūrira umukungugu ku mitwe yabo+. 7 Hanyuma Yosuwa avuga ati: “Yoo, ewe Mukama Segaba Yehova, kubera iki wajabukanye koko aba bantu Yorodani kugira gusa udutange mu kuboko kw’Abamori ngo baturandure? Iyo dupfuma twemera kuguma tuba hakurya ya Yorodani+! 8 Ntunga Yehova we, mbega mvuge iki ko Isirayeli yahindukiye igahunga imbere y’abansi bayo? 9 Abanyakanani n’ababa mu gihugu bose bazovyumva, badukikuze ata gukeka, maze barandure izina ryacu kw’isi+; none uzokora iki ku bw’izina ryawe rihambaye+?”

10 Yehova abwira Yosuwa ati: “Wewe haguruka! Kubera iki uguye wubamye? 11 Isirayeli yacumuye, bahonyanze isezerano ryanje+ nabategetse kugumya; kandi batoye ku kintu co gutikizwa+, kandi bivye+, kandi babinumye+, kandi babishize mu bintu vyabo bwite+. 12 Bene Isirayeli ntibazoshobora kurwanya abansi babo+. Bazohindukira bahunge imbere y’abansi babo, kuko bacitse ikintu co gutikizwa. Sinzosubira kubana namwe mutazimanganije ikintu co gutikizwa kikava hagati yanyu+. 13 Haguruka, weze abantu+, ubabwire uti: ‘Muze mwiyeze ejo, kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli yavuze ati: “Hari ikintu co gutikizwa kiri hagati muri wewe, ewe Isirayeli+. Ntuzoshobora kurwanya abansi bawe mutarakura hagati muri mwebwe nya kintu co gutikizwa. 14 Muze murenguke mu gitondo, umuryango umwumwe, maze umuryango Yehova azotora+ uzokwegera, inzu imwimwe, maze inzu Yehova azotora izokwegera, urugo rumwerumwe, maze urugo Yehova azotora ruzokwegera, umugabo umwumwe. 15 Kandi uwuzofatanwa nya kintu co gutikizwa azoturizwa umuriro+, we n’ivyiwe vyose, kuko yahonyanze isezerano+ rya Yehova akaba kandi yakoze ubusazi bw’agaterasoni muri Isirayeli+.”’”

16 Nuko Yosuwa ahaguruka kare mu gitondo, yegereza hafi Isirayeli, umuryango umwumwe, maze umuryango wa Yuda uba ari wo utorwa. 17 Ubukurikira yegereza hafi inzu za Yuda maze atora inzu y’Abazera+, hanyuma yegereza hafi inzu y’Abazera, umuntu w’umugabo umwumwe, Zabidi aba ari we atorwa. 18 Amaherezo yegeza hafi urugo rwiwe, umuntu w’umugabo umwumwe, maze Akani mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, aba ari we atorwa+. 19 Maze Yosuwa abwira Akani ati: “Mwananje, ndakwinginze uninahaze Yehova Imana ya Isirayeli+, umwaturire ico wakoze+; ndakwinginze umbwire+: Wakoze iki? Ntumpishe+.”

20 Akani aca yishura Yosuwa ati: “Mu vy’ukuri ni jewe nacumuye kuri Yehova Imana ya Isirayeli+; nakoze uku n’uku. 21 Igihe nabona+ mw’isahu impuzu y’ibango iryoheye ijisho y’i Shinari+, na shekeli amajana abiri z’ifeza n’ingegene imwe y’inzahabu ipima shekeli mirongo itanu, naciye ndavyipfuza+, maze ndabitwara+; kandi ehe binyegejwe mu kuzimu hagati mw’ihema ryanje, amahera akaba ari munsi ya nya mpuzu+.”

22 Yosuwa aca atuma intumwa, ziriruka zija kuri nya hema, zisanga yari inyegejwe mw’ihema ryiwe, amahera ari munsi ya nya mpuzu. 23 Babikura rero hagati mw’ihema maze babizanira Yosuwa na bene Isirayeli bose, babisuka imbere ya Yehova. 24 Yosuwa hamwe na Isirayeli yose bafata rero Akani+ mwene Zera, na nya feza, na nya mpuzu y’ibango, na nya ngegene y’inzahabu+, n’abahungu biwe n’abakobwa biwe, n’amashuri yiwe n’indogobwa ziwe n’umukuku wiwe, n’ihema ryiwe n’ibintu vyiwe vyose, babidugana mu kiyaya co hasi ca Akori+. 25 Maze Yosuwa avuga ati: “Kubera iki wadukwegeye ugukumirwa+? Yehova arakuzanako ugukumirwa uyu musi.” Nuko Isirayeli yose imutera amabuye+, hanyuma babaturiza umuriro+. Ukwo ni ko babateye amabuye. 26 Hanyuma bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi+. Yehova aca areka ishavu ryiwe rirurumba+. Ni co catumye aho hantu hitwa Ikiyaya co Hasi ca Akori*+, gushika n’uyu musi.

8 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+. Tora abarwanyi bose hanyuma uhaguruke, uduge i Ayi. Raba, ntanze mu kuboko kwawe umwami wa Ayi n’abantu biwe n’igisagara ciwe n’igihugu ciwe+. 2 Uze ugirire Ayi n’umwami waho nk’uko wagiriye Yeriko n’umwami waho+. Gusa mushobora kwisahurira isahu ryaho n’ibikoko vy’ibitungano vyaho+. Wishirireho ababundira igisagara, inyuma yaco+.”

3 Nuko rero Yosuwa n’abarwanyi bose+ barahaguruka kugira baduge i Ayi; Yosuwa atora abagabo ibihumbi mirongo itatu, abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari+, abarungika mw’ijoro. 4 Abategeka ati: “Raba, mugira mubundire+ igisagara inyuma yaco. Ntimuje kure cane y’ico gisagara, kandi mwese mugume mwiteguye. 5 Nayo jewe n’abantu bose bari kumwe nanje, tuzokwegera nya gisagara. Maze nibasohoka guhura natwe nk’ubwa mbere+, tuzoca duhunga imbere yabo. 6 Na bo bazosohoka badukurikire gushika tubajanye kure y’igisagara, kuko bazovuga bati: ‘Barahunze imbere yacu nk’ubwa mbere+.’ Kandi tuzohunga koko imbere yabo. 7 Namwe muzoca muhaguruka muve aho mubunze, maze mwigarurire igisagara; Yehova Imana yanyu azogitanga ata gukeka mu maboko yanyu+. 8 Nimwamara gufata ico gisagara, muze mugiturire+. Muze mukore nk’uko ijambo rya Yehova riri. Raba, ivyo ni vyo ndabategetse+.”

9 Inyuma y’ivyo Yosuwa arabarungika baja aho babunda, baguma hagati ya Beteli na Ayi mu burengero bwa Ayi, Yosuwa na we iryo joro arara hagati mu bantu.

10 Maze Yosuwa avyuka kare mu gitondo+, asuzuma abantu hanyuma we n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli baduga i Ayi bari imbere y’abantu. 11 Abarwanyi bose+ bari kumwe na we baraduga kugira begere maze bashike imbere y’igisagara, baraheza bakambika mu buraruko bwa Ayi, hagati yabo na Ayi hakaba hari umubande. 12 Muri ico gihe afata abagabo nk’ibihumbi bitanu, abashiraho ngo babunde+ hagati ya Beteli+ na Ayi, mu burengero bw’igisagara. 13 Gutyo abantu bashinga ikambi nyamukuru mu buraruko bw’igisagara+ be n’abagize igice c’inyuma gihereza cayo mu burengero bw’igisagara+; muri iryo joro Yosuwa aja hagati y’ikiyaya co hasi.

14 Umwami wa Ayi akimara kubibona, abagabo bo mu gisagara baca bihutira kuvyuka kare, maze we n’abantu biwe bose basohoka guhura na Isirayeli ngo barwane, ku gihe cashinzwe, imbere y’ikiyaya c’ubugaragwa. Ariko ntiyari azi ko hari abamubundiye inyuma y’igisagara+. 15 Yosuwa na Isirayeli yose bigira nk’abaneshejwe imbere yabo+, baca barahunga bajanye inzira yo mu gahinga+. 16 Nuko abantu bose bari mu gisagara barahamagarwa ngo babome inyuma; boma inyuma Yosuwa maze bajanwa kure y’igisagara+. 17 Nta mugabo yasigaye i Ayi n’i Beteli atasohotse gukurikira Isirayeli, gutyo basiga igisagara kirangaye, boma inyuma Isirayeli.

18 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ramvura ikobero riri mu kuboko kwawe uryerekeze i Ayi+, kuko ngira ndahatange mu kuboko kwawe+.” Yosuwa aramvura rero nya kobero ryari mu kuboko kwiwe aryerekeza kuri nya gisagara. 19 Bamwe bari babunze baca bahaguruka ningoga aho bari, batangura kwiruka akiramvura ukuboko, binjira mu gisagara baragifata+. Maze bihutira guturira nya gisagara+.

20 Abagabo b’i Ayi barahindukira bararaba, babona umwotsi w’ico gisagara uriko uduga mw’ijuru, ntibaronka intege zo guhungira aha canke hariya. Ba bantu bariko bahungira mu gahinga baca barahindukira barwanya abariko babakurikira. 21 Yosuwa na Isirayeli yose babona ko abari babunze+ bari bafashe igisagara be n’uko umwotsi wa nya gisagara wariko uraduga; barahindukira, batangura kwica abagabo b’i Ayi. 22 Bamwe bandi na bo bava mu gisagara ngo baje guhura na bo, ku buryo abagabo b’i Ayi basigara bari hagati ya Isirayeli, bamwe hino abandi hirya, maze barabica gushika n’aho muri bo hatagira uwurokoka canke uwucika kw’icumu+. 23 Umwami+ wa Ayi na we bamufata ari muzima baraheza bamuzanira Yosuwa.

24 Isirayeli ikiriko irarangiza kwicira ababa i Ayi bose mu gahinga bari babakurikiyemwo, bose baguma bagwishwa n’ubugi bw’inkota gushika baherengeteye. Inyuma y’ivyo Isirayeli yose isubira i Ayi ihakubitisha ubugi bw’inkota. 25 Abaguye kuri uwo musi bose, kuva ku mugabo gushika ku mugore, bashika ku bihumbi cumi na bibiri, abantu bose b’i Ayi. 26 Yosuwa ntiyagarukana ukuboko kwiwe yaramvurishije ikobero+, gushika atikije ababa i Ayi bose+. 27 Ibikoko vy’ibitungano n’isahu vy’ico gisagara ni vyo gusa Isirayeli yisahuriye, nk’uko ijambo Yehova yari yategetse Yosuwa ryari+.

28 Maze Yosuwa aturira Ayi, ayihindura ikidunduri camaho igihe kitagira urugero+, iba umusaka gushika n’uyu musi. 29 Amanika umwami wa Ayi+ ku giti gushika ku mugoroba+; maze kubera ko izuba ryagira rirenge, Yosuwa atanga itegeko, baraheza bamanura umuvyimba wiwe+ bawukura kuri nya giti, bawuterera ku bwinjiriro bw’irembo ry’igisagara hanyuma bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi.

30 Ico gihe ni ho Yosuwa yatangura kwubakira igicaniro*+ Yehova Imana ya Isirayeli, ku musozi Ebali+, 31 nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse bene Isirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’itegeko+ rya Musa ngo: “Igicaniro c’amabuye ari uko yakabaye, atigeze akozwako igikoresho c’icuma+”; baraheza bagishikanirako Yehova amashikanwa aturirwa bongera bashikana ibimazi vy’ugusangira+.

32 Maze yandika ng’aho kuri ayo mabuye ibiri+ mw’itegeko rya Musa, iryo uno yari yaranditse imbere ya bene Isirayeli+. 33 Isirayeli yose n’abagabo b’inararibonye bayo+ n’abarongozi n’abacamanza bayo, bari bahagaze hirya no hino y’Isandugu imbere y’abaherezi+, Abalewi, ari bo barerura isandugu y’isezerano rya Yehova+, kavamahanga n’imvukira+, igice kimwe cabo kiri imbere y’umusozi Gerizimu+, ikindi gice cabo na co kiri imbere y’umusozi Ebali+ (nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse+), kugira babanze guhezagira+ abantu ba Isirayeli. 34 Inyuma y’ivyo asoma n’ijwi ryumvikana amajambo yose y’itegeko+, imihezagiro+ n’imivumo+, yisunze ivyanditswe mu gitabu c’itegeko vyose. 35 Nta jambo na rimwe mu yo Musa yari yarategetse yose Yosuwa atasomeye n’ijwi ryumvikana imbere y’ishengero rya Isirayeli ryose+, kumwe n’abagore+ n’abana batoyi+ na ba kavamahanga+ bagendera hagati muri bo.

9 Abami bose+ bari hakuno ya Yorodani mu karere k’imisozi no muri Shefela* no ku nkengera yose ya ca Kiyaga Kinini+ n’imbere ya Libani+, Abaheti+ n’Abamori, Abanyakanani+, Abaperizi+, Abahiwi n’Abayebusi+, bakimara kuvyumva, 2 batangura gukoranira hamwe bose kugira barwanye Yosuwa na Isirayeli bahuje inama+.

3 Ababa i Gibeyoni+ bumva ivyo Yosuwa yari yagiriye Yeriko+ na Ayi+. 4 Nuko, bibiviriyeko, bakorana ubwenge+ maze baragenda bironsa impamba bongera batora imipfuko y’imishire ku bw’indogobwa zabo, n’imikuza y’inshato y’umuvinyu y’imishire, yaturitse ikongera igasanasanwa+, 5 bambara ku birenge inkweto z’imishire kandi zifise ibiremo, bambara n’impuzu z’imishire, kandi umukate wose batekeye bwa mpamba wari wumye kandi uvungaguritse. 6 Nuko baja aho Yosuwa ari kw’ikambi i Gilugali+, babwira Yosuwa n’abagabo ba Isirayeli bati: “Tuvuye mu gihugu ca kure. Ubu rero nimugirane isezerano+ natwe.” 7 Nya bagabo ba Isirayeli baca babwira abo Bahiwi+ bati: “Kumbure muba mu micungararo yacu. Twoshobora gute none kugirana isezerano namwe+?” 8 Na bo babwira Yosuwa bati: “Turi abasuku bawe+.”

Maze Yosuwa ababwira ati: “Muri bande, kandi muva he?” 9 Baca bamubwira bati: “Abasuku bawe bavuye mu gihugu ca kure cane+ ku bijanye n’izina+ rya Yehova Imana yawe, kuko twumvise ingene ari rurangiranwa be n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+, 10 be n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yari i Ashitaroti+. 11 Ni co gituma abagabo b’inararibonye bacu n’ababa mu gihugu cacu bose batubwiye+ bati: ‘Nimutore impamba y’urugendo, muje kubonana na bo, mubabwire muti: “Turi abasuku banyu+. Ubu rero nimugirane isezerano natwe+.”’ 12 Uyu mukate wacu wari ushushe igihe twawutora ngo utubere impamba mu mazu yacu ku musi twasohoka kugira tuze ng’aha aho muri, none ehe warumye kandi waravungaguritse+. 13 Kandi ng’iyi imikuza y’inshato y’umuvinyu twujuje ikiri mishasha, none ehe yaraturitse+; izi mpuzu n’izi nkweto zacu na vyo bisigaye ari imishire kubera urugendo rwabaye rurerure cane.”

14 Nya bagabo baca bakira ku mpamba zabo, ntibasiguza Yehova+. 15 Nuko Yosuwa agiriranira amahoro na bo+, agirana isezerano na bo kugira abareke babeho, abakuru+ b’ikoraniro baca barabarahira+.

16 Nuko hashize imisi itatu bamaze kugirana isezerano na bo, bumva yuko bari hafi yabo be n’uko baba mu micungararo yabo. 17 Maze bene Isirayeli bafata inzira, bashika ku bisagara vyabo ku musi ugira gatatu; nya bisagara vyabo vyari Gibeyoni+ na Kefira+ na Beyeroti+ na Kiriyati-yeyarimu+. 18 Bene Isirayeli ntibabica, kuko abakuru b’ikoraniro bari babarahiye+ Yehova Imana ya Isirayeli+. Nuko ikoraniro ryose ritangura kwidodombera abo bakuru+. 19 Abakuru bose baca babwira ikoraniro ryose bati: “Ubwacu twarabarahiye Yehova Imana ya Isirayeli, ubu rero tukaba tutarekuriwe kubagirira nabi+. 20 Ukwo ni ko tuzobagirira naho tubaretse ngo babeho, kugira ntiturakarirwe ku bw’indahiro twabarahiye+.” 21 Nya bakuru rero bababwira bati: “Nibabeho kandi bacike abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi b’ikoraniro ryose+, nk’uko nyene abakuru babasezeraniye+.”

22 Yosuwa arabahamagara rero, ababwira ati: “Kubera iki mwaduhenze mukavuga ngo: ‘Tuba kure cane yanyu+,’ kandi muba hagati nyene muri twebwe+? 23 Ubu rero muri abantu bavumwe+, kandi muzokwama muri abashumba+ n’abashenyi b’inkwi be n’abavomyi b’amazi b’inzu y’Imana yanje+.” 24 Maze bishura Yosuwa bati: “Ni kubera ko abasuku bawe biganiwe neza yuko Yehova Imana yawe yari yategetse Musa umusavyi wiwe kubaha igihugu cose no kuzimanganya imbere yanyu ababa mu gihugu bose+; twaciye rero dutinyira cane ubuzima bwacu kubera mwebwe+. Ni co catumye tugira ivyo+. 25 Ubu rero ehe turi mu kuboko kwawe. Nugire uko ubona ko ari vyiza kandi bibereye mu maso yawe kutugirira+.” 26 Nuko abagirira gutyo maze abarokora mu kuboko kwa bene Isirayeli, ntibabica+. 27 Uwo musi rero Yosuwa abagira+ abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi b’ikoraniro+ n’igicaniro ca Yehova gushika n’uyu musi, ahantu yohisemwo+.

10 Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu akimara kwumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi+ maze akahatikiza+, yuko uko nyene yari yagiriye Yeriko+ n’umwami+ waho ari ko yari yagiriye Ayi n’umwami waho+, be n’uko ababa i Gibeyoni bari bagiriraniye amahoro na Isirayeli+, bakaba babandanya kuba hagati muri bo, 2 aratinya cane+, kubera ko Gibeyoni cari igisagara gikomeye, nka kimwe mu bisagara vya cami, no kubera ko cari gikomeye kuruta Ayi+, kandi abagabo baco bose bakaba bari abanyenkomezi. 3 Ku bw’ivyo rero Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu+ atuma kuri Hohamu umwami wa Heburoni+ no kuri Piramu umwami wa Yarimuti+ no kuri Yafiya umwami wa Lakishi+ no kuri Debiri umwami wa Eguloni+, ati: 4 “Duge aho ndi mumfashe, dutere Gibeyoni, kuko yagiriraniye amahoro na Yosuwa be na bene Isirayeli+.” 5 Nuko bakoranira hamwe maze baraduga, abami batanu b’Abamori+, ni ukuvuga umwami wa Yeruzalemu, umwami wa Heburoni, umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi, umwami wa Eguloni, bo hamwe n’amakambi yabo yose, barakambika ngo batere Gibeyoni maze barayirwanya.

6 Abagabo b’i Gibeyoni baca batuma kuri Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+ bati: “Ntukure ukuboko ku bashumba bawe+. Duga ningoga aho turi udukize, udufashe, kuko abami bose b’Abamori baba mu karere k’imisozi bakoraniye kuturwanya.” 7 Yosuwa araduga rero avuye i Gilugali, we hamwe n’abarwanyi bose+ n’abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi bose+.

8 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Ntubatinye+, kuko ndabatanze mu kuboko kwawe+. Nta n’umwe muri bo azoguhagarara imbere+.” 9 Yosuwa aza kubatera giturumbuka. Yari yaduze ijoro ryose avuye i Gilugali. 10 Yehova abata mu muvurungano imbere ya Isirayeli+, maze batangura kubagandagura, inganda ziratikira bimwe bikomeye i Gibeyoni+, babakurikira baciye mu nzira y’umudugo wa Beti-horoni, barabasasika gushika i Azeka+ n’i Makeda+. 11 Mu gihe bariko barahunga imbere ya Isirayeli, bakiri ku mumanuko wa Beti-horoni, Yehova abatibagurirako ibibuye bininibinini+ bivuye mw’ijuru gushika i Azeka, ku buryo bapfa. Abishwe n’ayo mabuye y’urubura baba benshi kuruta abo bene Isirayeli bicishije inkota.

12 Maze Yosuwa avugana na Yehova ku musi Yehova yagabura Abamori kuri bene Isirayeli, avugira mu maso ya Isirayeli ati:

“Zuba+, hagarara hejuru ya Gibeyoni+,

Nawe kwezi, hagarara hejuru y’ikiyaya co hasi ca Ayaloni+.”

13 Nuko izuba riguma rihagaze, n’ukwezi kurahagarara koko, gushika iryo hanga ryihoye abansi baryo+. None ivyo ntivyanditswe mu gitabu ca Yashari+? Nuko izuba riguma rihagaze hagati mw’ijuru, ntiryihutira kurenga, hafi umusi wose+. 14 Kandi nta musi wabaye nk’uwo, haba imbere yawo canke inyuma yawo, kuko Yehova yumvirije ijwi ry’umuntu+, kubera ko Yehova ubwiwe yariko arwanira Isirayeli+.

15 Inyuma y’ivyo, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose asubira kw’ikambi i Gilugali+.

16 Muri ico gihe, abo bami batanu barahunga+, binyegeza mw’isenga i Makeda+. 17 Maze Yosuwa amenyeshwa ngo: “Ba bami batanu babasanze binyegeje mw’isenga i Makeda+.” 18 Yosuwa aca avuga ati: “Nimutembagarize ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga hanyuma murishinge abagabo kugira babarinde. 19 Ariko mweho, ntimuhagarare. Mwome inyuma abansi banyu, mubatere ku gice cabo c’inyuma+. Ntimubakundire kwinjira mu bisagara vyabo, kuko Yehova Imana yanyu yabatanze mu maboko yanyu+.”

20 Yosuwa na bene Isirayeli bakirangiza kubagandagura inganda zigatikira bimwe bikomeye, gushika bano baherengeteye+, abacitse kw’icumu muri bo na bo bagahunga bakinjira mu bisagara bikingijwe ibihome+, 21 abantu bose batangura gusubira kw’ikambi, aho Yosuwa ari, i Makeda mu mahoro. Nta muntu n’umwe yazungagije ururimi yarakaye ngo arwanye bene Isirayeli+. 22 Maze Yosuwa avuga ati: “Nimwugurure umunwa wa rya senga, musohore abo bami batanu muri iryo senga mubanzanire.” 23 Nuko bagira gutyo, basohora nya bami batanu mw’isenga barabamuzanira, ari bo b’aba: umwami wa Yeruzalemu+, umwami wa Heburoni+, umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi+, umwami wa Eguloni+. 24 Bakimara gusohora abo bami bakabazanira Yosuwa, Yosuwa ahamagara abagabo bose ba Isirayeli maze abwira abakomanda b’abarwanyi bari bajanye na we ati: “Nimwegere. Nimushire ibirenge ku bikanu vy’aba bami+.” Nuko baregera maze bashira ibirenge ku bikanu vyabo+. 25 Hanyuma Yosuwa abandanya kubabwira ati: “Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba+. Mugire umutima rugabo kandi mukomere, kuko uku ari ko Yehova azogirira abansi banyu bose muriko murarwanya+.”

26 Inyuma y’ivyo Yosuwa arabakubita, arabica, hanyuma abamanika ku biti bitanu, baguma bamanitse kuri nya biti gushika ku mugoroba+. 27 Nuko ku kirengazuba Yosuwa atanga itegeko, maze babamanura kuri nya biti+ hanyuma babaterera muri rya senga bari binyegejemwo. Baca bashira ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, gushika n’uyu musi.

28 Kuri uwo musi Yosuwa afata Makeda+, ahakubitisha ubugi bw’inkota. Umwami waho na we amutikizanya n’igifise ubuzima cose cariyo+. Ntiyasigaza n’umwe. Gutyo, agirira umwami wa Makeda+ nk’uko nyene yari yagiriye umwami wa Yeriko.

29 Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Libuna avuye i Makeda araheza arwanya Libuna+. 30 Nuko Yehova ahatanga na ho nyene be n’umwami waho mu kuboko kwa Isirayeli, bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’igifise ubuzima cose cariyo. Ntibasigazayo n’umwe. Gutyo, bagirira umwami waho nk’uko nyene bari bagiriye umwami wa Yeriko+.

31 Ubukurikira, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Lakishi+ avuye i Libuna, arakambika ngo ahatere maze araharwanya. 32 Nuko Yehova atanga Lakishi mu kuboko kwa Isirayeli ku buryo bahafata ku musi ugira kabiri, maze bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’igifise ubuzima cose cariyo+, bahagirira nk’ivyo bari bagiriye Libuna vyose.

33 Ico gihe ni ho Horamu umwami wa Gezeri+ yaduga gufasha Lakishi. Yosuwa rero amwicana n’abantu biwe, ntihagira n’umwe amusigira+.

34 Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose abandanya i Eguloni+ avuye i Lakishi, arakambika ngo ahatere araheza araharwanya. 35 Barahafata kuri uwo musi maze batangura kuhakubitisha ubugi bw’inkota bongera batikiza kuri uwo musi igifise ubuzima cose cariyo, bahagirira nk’ivyo bari bagiriye Lakishi vyose+.

36 Maze Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose aduga i Heburoni+ avuye i Eguloni, atangura kuharwanya. 37 Barahafata maze bakubitisha ubugi bw’inkota aho hantu n’umwami waho n’ibisagara vyaho vyose n’igifise ubuzima cose cariyo. Ntiyasigaza n’umwe; ahagirira nk’ivyo yari yagiriye Eguloni vyose. Gutyo, ahatikizanya n’igifise ubuzima cose cariyo+.

38 Amaherezo Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose arahindukira aja i Debiri+ maze atangura kuharwanya. 39 Arahafata, be n’umwami waho n’ibisagara vyaho vyose, babakubitisha ubugi bw’inkota bongera batikiza igifise ubuzima cose cariyo+. Ntiyasigaza n’umwe+. Agirira Debiri n’umwami waho nk’uko nyene yari yagiriye Heburoni kandi nk’uko nyene yari yagiriye Libuna n’umwami waho+.

40 Yosuwa asasika igihugu cose c’akarere k’imisozi+ na Negebu+ na Shefela+ n’imimanuko+ n’abami baho bose. Ntiyasigaza n’umwe, kandi atikiza+ ikintu cose cahumeka+, nk’uko nyene Yehova Imana ya Isirayeli yari yarategetse+. 41 Nuko Yosuwa arabasasika guhera i Kadeshi-baruneya+ gushika i Gaza+ n’igihugu cose ca Gosheni+ no gushika i Gibeyoni+. 42 Yosuwa afata abo bami bose n’igihugu cabo mu gihe kimwe+, kuko Yehova Imana ya Isirayeli ari we yarwanira Isirayeli+. 43 Inyuma y’ivyo, Yosuwa ari kumwe na Isirayeli yose asubira kw’ikambi i Gilugali+.

11 Yabini umwami wa Hazori akimara kuvyumva, atuma kuri Yobabu umwami wa Madoni+ no ku mwami wa Shimuroni no ku mwami wa Akishafu+, 2 no ku bami bari mu buraruko mu karere k’imisozi no mu biyaya vy’ubugaragwa mu bumanuko bwa Kinereti+ no muri Shefela+ no ku runani rw’imisozi rwa Dori+ mu burengero, 3 atuma no ku Banyakanani+ mu buseruko no mu burengero, no ku Bamori+ no ku Baheti+ no ku Baperizi+ no ku Bayebusi+ mu karere k’imisozi, no ku Bahiwi+ ku mucamo wa Herumoni+ mu gihugu ca Mizipa+. 4 Nuko barasohoka, bo hamwe n’amakambi yabo yose, abantu mu bwinshi bangana n’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+, n’amafarasi+ be n’imikogote y’intambara vyinshi cane. 5 Maze abo bami bose bakoranira hamwe kw’isango, baraza hanyuma bakambika hamwe, ku mazi y’i Meromu, kugira ngo barwanye Isirayeli+.

6 Yehova aca abwira Yosuwa ati: “Ntubatinye+, kuko ejo nk’aya mango bose nzobagabura kuri Isirayeli, ukabagandagura. Amafarasi yabo muzoyaca ibitsi+, imikogote yabo na yo muyituririre mu muriro+.” 7 Nuko Yosuwa n’abarwanyi bose bari kumwe na we babazako giturumbuka iruhande y’amazi ya Meromu, barabatera. 8 Maze Yehova abatanga mu kuboko kwa Isirayeli+, bano barabakubita hanyuma barabakurikira gushika i Sidoni+, ahaba abantu benshi, n’i Misirefoti-mayimu+ no mu kiyaya c’umubande ca Mizipe+ mu buseruko; babandanya kubakubita gushika n’aho batabasigariza n’umwe+. 9 Inyuma y’ivyo Yosuwa abagirira nk’uko nyene Yehova yari yamubwiye: aca ibitsi amafarasi yabo+, imikogote yabo na yo ayituririra mu muriro+.

10 Vyongeye, Yosuwa arahindukira ico gihe+ maze afata Hazori+; umwami waho amwicisha inkota+, kuko imbere y’aho, Hazori cari co gisagara gikuru muri ubwo bwami bwose. 11 Bakubitisha ubugi bw’inkota ibifise ubuzima vyose vyariyo, barabitikiza+. Ntihasigara ikintu gihumeka na kimwe+, kandi aturirira Hazori mu muriro. 12 Yosuwa afata ibisagara vyose vy’abo bami n’abami bavyo bose maze abikubitisha ubugi bw’inkota+. Arabitikiza+, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarategetse+. 13 Ibisagara vyose vyari vyubatswe ku bidunduri ni vyo gusa Isirayeli itaturiye, uretse ko Yosuwa yaturiye koko Hazori yonyene. 14 Bene Isirayeli bisahurira isahu ryose ry’ivyo bisagara n’ibikoko vy’ibitungano+. Abantu bose ni bo gusa bakubitishije ubugi bw’inkota gushika babazimanganije+. Ntibasigaza uwuhumeka n’umwe+. 15 Uko Yehova yari yarategetse Musa umusavyi wiwe, ni ko Musa yategetse Yosuwa+, kandi ni ko Yosuwa yakoze. Ntiyakuyeko ijambo na rimwe mu vyo Yehova yari yarategetse Musa vyose+.

16 Yosuwa afata ico gihugu cose, akarere k’imisozi na Negebu+ yose n’igihugu ca Gosheni+ cose na Shefela+ na Araba+ n’akarere k’imisozi ka Isirayeli na Shefela yako+, 17 guhera ku musozi Halaki+, uwuduga werekeza i Seyiri+, gushika i Bayali-gadi+ mu kiyaya c’umubande ca Libani ku mucamo w’umusozi Herumoni+, yongera afata abami baho bose abatsinda hasi, arabica+. 18 Yosuwa yamaze imisi myinshi arwana intambara n’abo bami bose. 19 Nta gisagara cagiriraniye amahoro na bene Isirayeli kiretse Abahiwi+ baba i Gibeyoni+. Ibindi vyose babifashe biciye ku ntambara+. 20 Kuko uku ari ko Yehova yakora: yarareka imitima yabo igakomantara+ kugira bamenyeshe ko bagiye kurwana na Isirayeli, kugira ngo abatikize, ntibagirirwe ubutoni+, ahubwo abazimanganye, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse Musa+.

21 Vyongeye, ico gihe nyene Yosuwa aragenda, arandura Abanakimu+ mu karere k’imisozi, i Heburoni, i Debiri, i Anabu+, no mu karere k’imisozi ka Yuda kose no mu karere k’imisozi ka Isirayeli kose+. Yosuwa ahatikizanya n’ibisagara vyaho+. 22 Nta Banakimu basigaye mu gihugu ca bene Isirayeli. Basigaye+ gusa i Gaza+, i Gati+ n’i Ashidodi+. 23 Gutyo Yosuwa afata igihugu cose, nk’uko ivyo Yehova yari yarasezeraniye Musa vyose vyari+, maze Yosuwa agiha Isirayeli bwa ntoranwa akurikije imituri yabo, yisunze imiryango yabo+. Nuko igihugu nticahungabanywa n’intambara+.

12 Aba rero ni bo bami b’igihugu bene Isirayeli batsinze maze bakigarurira igihugu cabo ku ruhande rwa Yorodani ruherereye iyo izuba rirasira+, kuva ku mwonga wa Arunoni+ gushika ku musozi Herumoni+, na Araba+ yose amaja i burasirazuba: 2 Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni+, akaganza kuva i Aroweri+ ku nkombe y’umwonga wa Arunoni+, no hagati muri uwo mwonga, n’ica kabiri ca Gileyadi gushika ku mwonga Yaboki+, ari wo wari urubibe rwa bene Amoni, 3 agatwara na Araba+ gushika ku kiyaga ca Kinereti+ amaja mu buseruko no gushika ku kiyaga co muri Araba, ari co kiyaga c’Umunyu+, mu buseruko, werekeza i Beti-yeshimoti+, n’amaja mu bumanuko munsi y’imimanuko ya Pisiga+.

4 Hanyuma bigarurira akarere ka Ogi+ umwami wa Bashani, wo mu basigaye ku Barefayimu+, uwaba i Ashitaroti+ n’i Edireyi+, 5 akaganza ku musozi Herumoni+ n’i Saleka n’i Bashani hose+, gushika ku rubibe rw’Abageshuri+ n’Abamayakati+, n’ica kabiri ca Gileyadi, gushika ku karere ka Sihoni+ umwami wa Heshiboni+.

6 Musa umusavyi wa Yehova na bene Isirayeli ni bo babatsinze+, hanyuma Musa umusavyi wa Yehova aha akarere kabo Abarubeni+ n’Abagadi+ n’igice c’umuryango wa Manase+ ngo bakiganzire.

7 Aba na bo ni bo bami b’igihugu Yosuwa na bene Isirayeli batsinze ku ruhande rwa Yorodani ruherereye mu burengero, kuva i Bayali-gadi+ mu kiyaya c’umubande ca Libani+ gushika ku musozi Halaki+, uwuduga werekeza i Seyiri+, hanyuma Yosuwa agiha imiryango ya Isirayeli ngo baciganzire hakurikijwe imituri yabo+, 8 mu karere k’imisozi no muri Shefela no muri Araba no ku mimanuko no mu gahinga no muri Negebu+, ni ukuvuga ibihugu vy’Abaheti, Abamori+ n’Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+:

9 Umwami wa Yeriko+, umwe; umwami wa Ayi+, ino ikaba yari iruhande ya Beteli, umwe;

10 umwami wa Yeruzalemu+, umwe; umwami wa Heburoni+, umwe;

11 umwami wa Yarimuti+, umwe; umwami wa Lakishi+, umwe;

12 umwami wa Eguloni+, umwe; umwami wa Gezeri+, umwe;

13 umwami wa Debiri+, umwe; umwami wa Gederi, umwe;

14 umwami wa Horuma, umwe; umwami wa Aradi, umwe;

15 umwami wa Libuna+, umwe; umwami wa Adulamu, umwe;

16 umwami wa Makeda+, umwe; umwami wa Beteli+, umwe;

17 umwami wa Tapuwa, umwe; umwami wa Heferi+, umwe;

18 umwami wa Afeki, umwe; umwami wa Lasharoni, umwe;

19 umwami wa Madoni+, umwe; umwami wa Hazori+, umwe;

20 umwami wa Shimuroni-meroni, umwe; umwami wa Akishafu+, umwe;

21 umwami wa Tayanaki, umwe; umwami wa Megido+, umwe;

22 umwami wa Kedeshi, umwe; umwami wa Yokineyamu+ i Karumeli, umwe;

23 umwami wa Dori ku runani rw’imisozi rwa Dori+, umwe; umwami wa Goyimu i Gilugali, umwe;

24 umwami wa Tiruza, umwe; abami bose bakaba mirongo itatu n’umwe+.

13 Yosuwa yari ashaje, yitereye mu myaka+. Nuko Yehova amubwira ati: “Washaje kandi witereye mu myaka, mugabo haracasigaye igice kinini cane c’igihugu co kwigarurirwa+. 2 Iki ni co gihugu kigisigaye+: uturere twose tw’Abafilisitiya+ n’Abageshuri+ bose 3 (guhera kw’ishami rya Nili riri aharabana na Misiri gushika ku mupaka wa Ekuroni mu buraruko+, hahora haharurwa ko hegukira Abanyakanani+); abatware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya, Abanyegaza+ n’Abashidodi+, Abashikeloni+, Abagiti+ n’Abekuroni+; n’Abavimu+. 4 Mu bumanuko, igihugu cose c’Abanyakanani; na Meyara, ahegukira Abanyasidoni+, gushika i Afeki, gushika ku mupaka w’Abamori; 5 n’igihugu c’Abagebali+ na Libani yose amaja iyo izuba rirasira, kuva i Bayali-gadi+ ku mucamo w’umusozi Herumoni gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+; 6 ababa mu karere k’imisozi bose, kuva i Libani+ gushika i Misirefoti-mayimu+, ari bo Banyasidoni+ bose; jewe ubwanje nzobomora imbere ya bene Isirayeli+. Gusa ucegurire Isirayeli bwa ntoranwa, nk’uko nyene nagutegetse+. 7 Ubu rero gabanganiriza iki gihugu bwa ntoranwa ya miryango icenda na ca gice c’umuryango wa Manase+.”

8 Ca gice kindi c’umuryango hamwe n’Abarubeni n’Abagadi, batoye intoranwa yabo Musa yabahaye ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja mu buseruko, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yayibahaye+, 9 kuva i Aroweri+ hari ku nkombe y’umwonga wa Arunoni+, n’igisagara kiri hagati muri uwo mwonga, n’amatāba yose ya Medeba+ gushika i Diboni+; 10 n’ibisagara vyose vya Sihoni umwami w’Abamori, uwaganza i Heshiboni, gushika ku mupaka wa bene Amoni+; 11 na Gileyadi n’akarere k’Abageshuri+ n’Abamayakati n’umusozi Herumoni+ wose na Bashani+ yose gushika i Saleka+; 12 akarere k’ubwami kose ka Ogi+ muri Bashani, uwaganza i Ashitaroti n’i Edireyi+, akaba ari we yasigaye mu basigaye ku Barefayimu+; Musa yarabakubise, arabomora+. 13 Bene Isirayeli ntibomoye+ Abageshuri n’Abamayakati, mugabo Geshuri+ na Mayakati babandanya kuba hagati muri Isirayeli gushika n’uyu musi.

14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa atahaye intoranwa+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro+ ya Yehova Imana ya Isirayeli ni yo ntoranwa yabo+, nk’uko nyene yabasezeraniye+.

15 Maze Musa aha ingabirano umuryango wa bene Rubeni akurikije imiryango yabo; 16 aka ni ko kabaye akarere kabo: kuva i Aroweri+ hari ku nkombe y’umwonga wa Arunoni, n’igisagara kiri hagati muri nya mwonga, n’amataba yose ari iruhande ya Medeba+; 17 Heshiboni+ n’ibisagara vyaho vyose+ biri ku matāba, Diboni+ na Bamoti-bayali+ na Beti-bayali-meyoni+, 18 na Yahazi+ na Kedemoti+ na Mefayati+, 19 na Kiriyatayimu+ na Sibuma+ na Zereti-shahari ku musozi wo mu kiyaya co hasi, 20 na Beti-peyori n’imimanuko ya Pisiga+ na Beti-yeshimoti+, 21 n’ibisagara vyose vyo mu mataba+ n’akarere k’ubwami kose ka Sihoni umwami w’Abamori, uwaganza i Heshiboni+, uwo Musa yakubise+, hamwe n’abakuru ba Midiyani, Evi na Rekemu na Zuri na Huru na Reba+, bakaba bari abatware bo hasi ba Sihoni baba muri ico gihugu. 22 Kandi Balamu mwene Beyori+, wa muraguzi+, yari umwe mu bo bene Isirayeli bicishije inkota, kumwe n’abo bagandaguye. 23 Urubibe rwa bene Rubeni rwabaye Yorodani; kandi ako karere ni ko kabaye intoranwa ya bene Rubeni+ hakurikijwe imiryango yabo, kumwe n’ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

24 Vyongeye, Musa aha ingabirano umuryango wa Gadi, bene Gadi, hakurikijwe imiryango yabo+; 25 akarere kabo kaba Yazeri+ n’ibisagara vyose vya Gileyadi+ n’ica kabiri c’igihugu ca bene Amoni+ gushika i Aroweri+, aharabana na Raba+; 26 no kuva i Heshiboni+ gushika i Ramati-mizipe na Betonimu no kuva i Mahanayimu+ gushika ku mupaka wa Debiri+; 27 mu kiyaya co hasi na ho, Beti-haramu+ na Beti-nimura+ na Sukoti+ na Zafoni, ahasigaye h’akarere k’ubwami ka Sihoni umwami wa Heshiboni+, Yorodani ikaba yari umupaka gushika ku mpera y’ikiyaga ca Kinereti+ ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja mu buseruko. 28 Iyo ni yo yabaye intoranwa ya bene Gadi+ hakurikijwe imiryango yabo, kumwe n’ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

29 Vyongeye, Musa aha ingabirano igice c’umuryango wa Manase, iba umugabane w’igice c’umuryango wa bene Manase hakurikijwe imiryango yabo+. 30 Akarere kabo kabaye aka: kuva i Mahanayimu+, Bashani yose, akarere k’ubwami kose ka Ogi umwami wa Bashani+, n’ibigwati vy’amahema vyose vya Yayiri+ biri muri Bashani, ibisagara mirongo itandatu. 31 Ica kabiri ca Gileyadi, na Ashitaroti+ na Edireyi+, ibisagara vy’akarere k’ubwami ka Ogi muri Bashani, biba ivya bene Makiri+ mwene Manase, ni ukuvuga ivy’igice ca bene Makiri hakurikijwe imiryango yabo.

32 Utwo ni two turere Musa yatumye batorana, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu ku ruhande rwa Yorodani rw’amaja mu buseruko, aharabana n’i Yeriko+.

33 Mugabo umuryango w’Abalewi Musa ntiyawuhaye intoranwa+. Yehova Imana ya Isirayeli ni we ntoranwa yabo, nk’uko nyene yabasezeraniye+.

14 Iyi rero ni yo ntoranwa bene Isirayeli baronse mu gihugu ca Kanani+, iyo Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli batumye batorana+. 2 Intoranwa yabo bayihawe biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa ku vyerekeye ya miryango icenda na ca gice c’umuryango+. 3 Kuko Musa yari yaratanze intoranwa ya ya miryango yindi ibiri na ca gice kindi c’umuryango hakurya ya Yorodani+; Abalewi ntiyabahaye intoranwa hagati muri bo+. 4 Kuko bene Yozefu bari bacitse imiryango ibiri+, Manase+ na Efurayimu+; kandi Abalewi ntibari barahawe umuturi mu gihugu, kiretse ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibitungwa vyabo n’ivyo batunze+. 5 Uko Yehova yari yarategetse Musa, ni ko bene Isirayeli bakoze; nuko batangura kugabanganya igihugu.

6 Maze bene Yuda begera Yosuwa i Gilugali+, hanyuma Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi+ amubwira ati: “Ubwawe urazi neza ijambo Yehova yabwiye+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ ku binyerekeye no ku bikwerekeye, i Kadeshi-baruneya+. 7 Nari mfise imyaka mirongo ine igihe Musa umusavyi wa Yehova yandungika mvuye i Kadeshi-baruneya ngo nje gutata igihugu+, hanyuma nza ndamugarukaniye inkuru nk’uko nyene vyari mu mutima wanje+. 8 Bene wacu baduganye nanje batumye umutima w’abantu ushonga+; mugabo jewe, nakurikiye Yehova Imana yanje bimwe bishitse+. 9 Musa yaciye rero arahira kuri uwo musi ati: ‘Igihugu ikirenge cawe cahonyoyemwo+ kizoba icawe n’abahungu bawe bwa ntoranwa gushika igihe kitagira urugero, kuko wakurikiye Yehova Imana yanje bimwe bishitse+.’ 10 Ubu rero, ehe Yehova yaranzigamiye ubuzima+, nk’uko nyene yasezeranye+, iyi myaka mirongo ine n’itanu kuva Yehova ahaye Musa uwo muhango igihe Isirayeli yagendagenda mu gahinga+; none ehe uyu musi mfise imyaka mirongo umunani n’itanu. 11 Yamara, uyu musi nkomeye nk’uko nari nkomeye ku musi Musa yandungika+. Uko inkomezi zanje zari ico gihe, ni ko ziri n’ubu, haba mu kuja mu rugamba no mu kuvayo+. 12 Ubu rero numpe aka karere k’imisozi Yehova yasezeranye kuri uwo musi+, kuko ubwawe wumvise kuri uwo musi yuko ng’aho hari Abanakimu+ n’ibisagara bikomeye bikingijwe ibihome+. Biboneka yuko Yehova azobana nanje+, ndabomore ata gukeka, nk’uko nyene Yehova yasezeranye+.”

13 Yosuwa aca aramuhezagira maze aha Kalebu, mwene Yefune, Heburoni ngo ibe intoranwa yiwe+. 14 Ni co catumye Heburoni yegukira Kalebu mwene Yefune Umukenizi bwa ntoranwa gushika n’uyu musi, kuko yakurikiye Yehova Imana ya Isirayeli bimwe bishitse+. 15 Imbere y’aho izina rya Heburoni ryari Kiriyati-aruba+ (uwo Aruba+ yari we muntu akomeye mu Banakimu). Nuko igihugu nticahungabanywa n’intambara+.

15 Akarere umuryango wa bene Yuda waheshejwe ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo kagarukira ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga mu gahinga ka Zini+, ku mpera ya Negebu+ yo mu bumanuko. 2 Urubibe rwabo rwo mu bumanuko rwahera ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+, guhera ku kagobe karaba mu bumanuko. 3 Rwarasohoka amaja mu bumanuko rugana ku mudugo wa Akurabimu+, rukagenda rwerekeza i Zini+, hanyuma rukaduga ruvuye mu bumanuko rwerekeza i Kadeshi-baruneya+, rukagenda rwerekeza i Hezironi, rukaduga rugana i Adari maze rugakevya rwerekeza i Karuka. 4 Rwarabandanya i Azimoni+, rugasohoka ruja mu mwonga wa Misiri+; nya rubibe rwagarukira ku kiyaga. Urwo ni rwo rwabaye urubibe rwabo rwo mu bumanuko.

5 Urubibe rwo mu buseruko rwari ikiyaga c’Umunyu gushika ku mpera ya Yorodani, urubibe rwo mu mfuruka yo mu buraruko na rwo rukaba ku kagobe k’ico kiyaga, ku mpera ya Yorodani+. 6 Nya rubibe rwaraduga rwerekeza i Beti-hogula+ rukagenda mu buraruko bwa Beti-araba+, maze rukaduga ruja kw’ibuye rya Bohani+ mwene Rubeni. 7 Urwo rubibe rwaraduga rwerekeza i Debiri ku kiyaya co hasi ca Akori+ hanyuma rugakevya rwerekeza mu buraruko ruja i Gilugali+, aharabana n’umudugo wa Adumimu, uwuri mu bumanuko bw’umwonga; nya rubibe rwaragenda rwerekeza ku mazi ya Eni-shemeshi+, rukagarukira i Eni-rogeli+. 8 Rwaca ruduga rwerekeza ku mubande wa mwene Hinomu+, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, ari ho Yeruzalemu+; nya rubibe rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero, uwuri ku mpera y’ikiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko. 9 Nya rubibe rucishwa kw’isonga ry’umusozi gushika ku mbizi y’amazi ya Nefutowa+, maze rurasohoka rwerekeza ku bisagara vy’umusozi Efuroni; hanyuma urwo rubibe rushika i Bayala+, ari ho Kiriyati-yeyarimu+. 10 Nya rubibe rwarakevya ruvuye i Bayala amaja mu burengero rwerekeza ku musozi Seyiri, rukagenda rwerekeza ku mumanuko w’umusozi Yeyarimu mu buraruko, ni ukuvuga Kesaloni; rwaca rumanuka rwerekeza i Beti-shemeshi+, rukagenda rwerekeza i Timuna+. 11 Nya rubibe rwarasohoka rwerekeza ku mumanuko wa Ekuroni+ mu buraruko, maze rucishwa i Shikeroni; hanyuma rwagenda rwerekeza ku musozi Bayala, rugasohoka rwerekeza i Yabuneyeli; nya rubibe rwagarukira ku kiyaga.

12 Urubibe rwo mu burengero rwari ku Kiyaga Kinini+ n’inkengera yaco. Urwo ni rwo rwabaye urubibe rwa bene Yuda irya n’ino, hakurikijwe imiryango yabo.

13 Nayo Kalebu+ mwene Yefune amuha umuturi hagati muri bene Yuda kw’itegeko Yehova yahaye Yosuwa, egome amuha Kiriyati-aruba (uwo Aruba yari se wa Anaki), ari yo Heburoni+. 14 Nuko Kalebu ahirukana ba bahungu batatu ba Anaki+, ari bo Sheshayi+ na Ahimani na Talimayi+, abavutse kuri Anaki+. 15 Maze araduga avuye ng’aho aja ku baba i Debiri+. (Imbere y’aho, izina rya Debiri ryari Kiriyati-seferi+.) 16 Maze Kalebu avuga ati: “Uwuzokubita Kiriyati-seferi akahafata, nzomuha koko Akisa+ umukobwa wanje amubere umugore.” 17 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mwene wabo na Kalebu, arahafata. Amuha rero Akisa+ umukobwa wiwe ngo amubere umugore. 18 Maze Akisa ariko araja iw’umugabo, aguma ahimiriza umugabo wiwe ngo asabe se wiwe* itongo. Nuko Akisa akomanya amashi yicaye ku ndogobwa. Kalebu aca amubwira ati: “Ushaka iki+?” 19 Na we avuga ati: “Numpe umuhezagiro, kuko igice c’itongo co mu bumanuko ari co wampaye; ukwiye rero kumpa Guloti-mayimu.” Amuha rero Guloti yo Haruguru na Guloti yo Hepfo+.

20 Iyo ni yo yabaye intoranwa+ y’umuryango wa bene Yuda+, hakurikijwe imiryango yabo.

21 Kandi ibisagara vyo ku mpera y’umuryango wa bene Yuda amaja ku rubibe rwa Edomu+ mu bumanuko vyari Kabuzeyeli+ na Ederi na Yaguri, 22 na Kina na Dimona na Adada, 23 na Kedeshi na Hazori na Itunani, 24 Zifu na Telemu+ na Beyaloti, 25 na Hazori-hadata na Keriyoti-hezironi, ari ho Hazori, 26 Amamu na Shema na Molada+, 27 na Hazari-gada na Heshimoni na Beti-peleti+, 28 na Hazari-shuwali+ na Beyeri-sheba+ na Biziyotiya, 29 Bayala+ na Yimu na Ezemu+, 30 na Elitoladi na Kesili na Horuma+, 31 na Zikulagi+ na Madumana na Sansana, 32 na Lebayoti na Shilihimu na Ayini+ na Rimoni+; ibisagara vyose bikaba vyari mirongo ibiri n’icenda, hamwe n’imihana irundanye ibikukira.

33 Muri Shefela+ hari Eshitayoli+ na Zora+ na Ashina, 34 na Zanowa+ na Eni-ganimu na Tapuwa na Enamu, 35 Yarimuti+ na Adulamu+, Soko+ na Azeka+, 36 na Shayarayimu+ na Aditayimu na Gedera na Gederotayimu; ibisagara cumi na bine n’imihana irundanye ibikukira.

37 Zenani na Hadasha na Migidali-gadi, 38 na Dileyani na Mizipe na Yokiteyeli, 39 Lakishi+ na Bozikati+ na Eguloni+, 40 na Kaboni na Lahimamu na Kitilishi, 41 na Gederoti, Beti-dagoni na Nayama na Makeda+; ibisagara cumi na bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.

42 Libuna+ na Eteri+ na Ashani, 43 na Ifuta na Ashina na Nezibu, 44 na Keyila+ na Akizibu+ na Maresha+; ibisagara icenda n’imihana irundanye ibikukira.

45 Ekuroni+ n’ibisagara bihakukira be n’imihana irundanye ihakukira. 46 Kuva i Ekuroni werekeza mu burengero, akarere kose kari iruhande ya Ashidodi n’imihana irundanye ihakukira.

47 Ashidodi+, ibisagara bihakukira n’imihana irundanye ihakukira; Gaza+, ibisagara bihakukira n’imihana irundanye ihakukira, gushika ku mwonga wa Misiri, n’Ikiyaga Kinini n’akarere bibangikanye+.

48 Mu karere k’imisozi na ho hari Shamiri na Yatiri+ na Soko, 49 na Dana na Kiriyati-sana, ari ho Debiri, 50 na Anabu na Eshitemo+ na Animu, 51 na Gosheni+ na Holoni na Gilo+; ibisagara cumi na kimwe n’imihana irundanye ihakukira.

52 Arabu na Duma na Eshani, 53 na Yanimu na Beti-tapuwa na Afeka, 54 na Humuta na Kiriyati-aruba, ari ho Heburoni+, na Ziyori; ibisagara icenda n’imihana irundanye ibikukira.

55 Mawoni+, Karumeli na Zifu+ na Yuta, 56 na Yezireyeli na Yokideyamu na Zanowa, 57 Kayine, Gibeya na Timuna+; ibisagara cumi n’imihana irundanye ibikukira.

58 Halihuli, Beti-zuri na Gedori, 59 na Mayarati na Beti-anoti na Elitekoni; ibisagara bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.

60 Kiriyati-bayali+, ari ho Kiriyati-yeyarimu+, na Raba; ibisagara bibiri n’imihana irundanye ibikukira.

61 Mu gahinga hari Beti-araba+, Midini na Sekaka, 62 na Nibushani n’Igisagara c’Umunyu na Eni-gedi+; ibisagara bitandatu n’imihana irundanye ibikukira.

63 Ariko Abayebusi+ baba i Yeruzalemu+ bene Yuda ntibashoboye kubirukana+; kandi Abayebusi baracabana na bene Yuda i Yeruzalemu gushika n’uyu musi.

16 Nuko ubupfindo+ burasohoka ku bwa bene Yozefu+; akarere kabo kahera kuri Yorodani+ aharabana n’i Yeriko kakagenda kerekeza ku mazi ya Yeriko amaja mu buseruko, kerekeza mu gahinga kaduga mu karere k’imisozi ka Beteli+ kavuye i Yeriko. 2 Maze karasohoka kavuye i Beteli hegukira Luzi+, kakagenda kerekeza ku rubibe rw’Abaruki+ i Ataroti, 3 kakamanuka amaja mu burengero kerekeza ku rubibe rw’Abayafuleti, gushika ku rubibe rwa Beti-horoni yo Hepfo+ na Gezeri+, kakagarukira ku kiyaga+.

4 Nuko bene Yozefu+, ari bo Manase na Efurayimu+, batangura kwigabira igihugu+. 5 Urubibe rwa bene Efurayimu hakurikijwe imiryango yabo, egome, urubibe rw’intoranwa yabo amaja mu buseruko, rwabaye Ataroti-adari+, gushika i Beti-horoni yo Haruguru+; 6 nya rubibe rwarasohoka rwerekeza ku kiyaga. Mikimetati+ hari mu buraruko, nya rubibe na rwo rugakevya rwerekeza mu buseruko rugana i Tayanati-shilo, rukagenda amaja mu buseruko rwerekeza i Yanowa. 7 Hanyuma rwaramanuka ruvuye i Yanowa rukerekeza i Ataroti n’i Nayara, rugashika i Yeriko+ maze rugasohoka rwerekeza kuri Yorodani. 8 Urwo rubibe ruvuye i Tapuwa+ rwabandanya amaja mu burengero rwerekeza ku mwonga wa Kana+, rukagarukira ku kiyaga+. Iyo ni yo ntoranwa y’umuryango wa bene Efurayimu hakurikijwe imiryango yabo. 9 Bene Efurayimu bari bafise ibisagara bitagira imihora+, hagati mu ntoranwa ya bene Manase, ibisagara vyose n’imihana irundanye ibikukira.

10 Kandi ntibirukanye Abanyakanani+ baba i Gezeri+; Abanyakanani baracaba muri Efurayimu gushika n’uyu musi+, mugabo bahavuye bakoreshwa ibikorwa vy’agahato vy’ubushumba+.

17 Maze ubupfindo+ bwerekana akarere k’umuryango wa Manase+, kuko yari imfura ya Yozefu+, egome akarere ka Makiri+ imfura ya Manase, se wa Gileyadi+, kuko yari umurwanyi+; Gileyadi+ na Bashani haba ahiwe. 2 Hanyuma ubupfindo bwerekana akarere ka bene Manase bari basigaye, nk’uko imiryango yabo iri, egome akarere ka bene Abi-ezeri+ na bene Heleki+ na bene Asiriyeli na bene Shekemu+ na bene Heferi na bene Shemida+. Abo ni bo bari abahungu ba Manase mwene Yozefu, ab’igitsina-gabo, nk’uko imiryango yabo iri. 3 Nayo Zelofehadi+ mwene Heferi, Heferi wa Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase, ntiyari afise abahungu, ahubwo yari afise abakobwa, aya akaba ari yo yari amazina ya nya bakobwa biwe: Mahila na Nowa, Hogula, Milika na Tiruza+. 4 Baza rero imbere ya Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru, bavuga bati: “Yehova ni we yategetse Musa kuduha intoranwa hagati mu b’iwacu+.” Nuko rero, kw’itegeko rya Yehova, abaha intoranwa hagati muri bene wabo na se+.

5 Nuko imigabane cumi iba iya Manase uretse igihugu ca Gileyadi na Bashani, ivyari hakurya ya Yorodani+; 6 kuko abakobwa ba Manase baronse intoranwa hagati mu bahungu biwe; igihugu ca Gileyadi na co kiba inyegu ya bene Manase bari basigaye.

7 Kandi urubibe rwa Manase rwahera i Asheri rukagenda rwerekeza i Mikimetati+, aharabana na Shekemu+, rukaja iburyo rwerekeza ku baba i Eni-Tapuwa. 8 Igihugu ca Tapuwa+ kiba ica Manase, mugabo Tapuwa, ku rubibe rwa Manase, yari iya bene Efurayimu. 9 Nya rubibe rwaramanuka ku mwonga wa Kana, amaja mu bumanuko, ku mwonga w’ibisagara vyaho+ vya Efurayimu biri hagati mu bisagara vya Manase; urubibe rwa Manase rwari mu buraruko bw’uwo mwonga, rukaba rwagarukira ku kiyaga+. 10 Mu bumanuko hari aha Efurayimu, mu buraruko na ho aha Manase, ikiyaga kikaba cabaye urubibe rwiwe+; mu buraruko bashika kwa Asheri, mu buseruko na ho bagashika kwa Isakari.

11 Ibi ni vyo vyabaye ivya Manase+ muri Isakari no muri Asheri: Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Eni-dori+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, ibibanza bikirurutse bitatu.

12 Bene Manase ntibashoboye kwigarurira ivyo bisagara+, mugabo Abanyakanani baragagaje babandanya kuba muri ico gihugu+. 13 Maze bene Isirayeli bamaze gukomera+, bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ntibabomora ngo babaherengeteze+.

14 Nuko bene Yozefu babwira Yosuwa bati: “Kubera iki wampaye akarere kamwe biciye ku bupfindo+ be n’umugabane umwe ngo bibe intoranwa yanje, kandi ndi igisata c’abantu benshi bitumwe n’uko Yehova yampezagiye gushika ubu+?” 15 Yosuwa aca ababwira ati: “Nimba uri igisata c’abantu benshi, duga mu kibira, ucitemere, hariya mu gihugu c’Abaperizi+ n’Abarefayimu+, kuko akarere k’imisozi+ ka Efurayimu kakwagiye cane.” 16 Maze bene Yozefu bavuga bati: “Akarere k’imisozi ntikadukwiye, kandi hari imikogote y’intambara+ ifise ibikeruzo vy’icuma mu Banyakanani bose baba mu gihugu co mu kiyaya co hasi, haba mu bari i Beti-sheyani+ no mu bisagara bihakukira canke mu bari mu kiyaya co hasi ca Yezireyeli+.” 17 Yosuwa abwira rero inzu ya Yozefu, ni ukuvuga Efurayimu na Manase, ati: “Uri igisata c’abantu benshi, kandi ufise inkomezi nyinshi+. Ntukwiye kuronka akarere kavuye ku bupfindo kamwe+, 18 mugabo akarere k’imisozi gakwiye kuba rwawe+. Kubera ko ari ikibira, uze ugiteme, kibe aho ugarukira. Kuko ukwiye kwirukana Abanyakanani, naho bafise imikogote y’intambara ifise ibikeruzo vy’icuma kandi bakaba bakomeye+.”

18 Maze ikoraniro ryose rya bene Isirayeli rikoranira i Shilo+, hanyuma bashinga ihema ry’ihuriro ng’aho+, kuko igihugu cari kimaze kumarwa igabo imbere yabo+. 2 Mugabo muri bene Isirayeli hari hagisigaye abo intoranwa yabo itari bwagabanganywe, ni ukuvuga imiryango indwi. 3 Nuko Yosuwa abwira bene Isirayeli ati: “Muzogeza ryari gufata minenegwe ivyo kwinjira kwigarurira igihugu+ Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yabahaye+? 4 Nimwitorere abagabo batatu ku muryango umwumwe wose mpeze ndabarungike, kugira ngo bahaguruke banyuragire mu gihugu maze bagicapure bisunze intoranwa yabo, hanyuma baze aho ndi+. 5 Baze bakigabanganye hagati yabo mu mituri indwi+. Yuda azoguma ahagaze ku karere kiwe mu bumanuko+, ab’inzu ya Yozefu na bo bagume bahagaze ku karere kabo mu buraruko+. 6 Nayo mwebwe, muzocapura ico gihugu mugicemwo imituri indwi, muyinzanire ng’aha, nanje ndabapfindire ubupfindo+ ng’aha imbere ya Yehova Imana yacu. 7 Kuko Abalewi ata muturi bafise muri mwebwe+, kubera ko ubuherezi bwa Yehova ari bwo ntoranwa yabo+; Gadi na Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ baratoye intoranwa yabo ku ruhande rwa Yorodani rw’amaja mu buseruko, iyo Musa umusavyi wa Yehova yabahaye+.”

8 Nya bagabo barahaguruka rero kugira bagende, maze Yosuwa ategeka+ abari bagiye gucapura ico gihugu ati: “Gende munyuragire mu gihugu, mugicapure hanyuma mugaruke aho ndi, kandi aha ni ho nzobagirira ubupfindo*+ imbere ya Yehova i Shilo+.” 9 Nuko nya bagabo baragenda, banyuragira mu gihugu, bagicapura+ mu gitabu bakurikije ibisagara, bagicamwo imituri indwi. Hanyuma baza aho Yosuwa ari kw’ikambi i Shilo, 10 maze Yosuwa abagirira ubupfindo i Shilo imbere ya Yehova+. Gutyo Yosuwa agabanganiriza bene Isirayeli igihugu ng’aho, mu mituri yabo+.

11 Maze umuryango wa bene Benyamini+ ugirirwa ubupfindo+ hakurikijwe imiryango yabo; akarere baheshejwe ubupfindo kari hagati ya bene Yuda+ na bene Yozefu+. 12 Urubibe rwabo rwari mu mfuruka yo mu buraruko uhereye kuri Yorodani, rukaduga rwerekeza ku mumanuko wa Yeriko+ mu buraruko hanyuma rukaduga ku musozi amaja mu burengero, rukagarukira mu gahinga ka Beti-aveni+. 13 Nya rubibe rwaragenda ruvuye ng’aho rukerekeza i Luzi+, ku mumanuko wo mu bumanuko wa Luzi, ari yo Beteli+; hanyuma rwaramanuka rwerekeza i Ataroti-adari+ ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-horoni yo Hepfo+. 14 Nya rubibe ruracibwa; rwarakevya ku ruhande rwo mu burengero rwerekeza mu bumanuko uhereye ku musozi urabana na Beti-horoni mu bumanuko; rwagarukira i Kiriyati-bayali, ni ukuvuga Kiriyati-yeyarimu+, igisagara ca bene Yuda. Urwo ni rwo ruhande rwo mu burengero.

15 Uruhande rwo mu bumanuko rwahera ku mpera ya Kiriyati-yeyarimu, urubibe na rwo rugasohoka rwerekeza mu burengero hanyuma rugasohoka ruja ku mbizi y’amazi ya Nefutowa+. 16 Nya rubibe rwaramanuka rwerekeza ku mpera y’umusozi urabana n’umubande wa mwene Hinomu+ uri mu kiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko, hanyuma rukamanuka ku mubande wa Hinomu, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, rugaheza rukamanuka rwerekeza i Eni-rogeli+. 17 Rucibwa rwerekeza mu buraruko hanyuma rusohoka rwerekeza i Eni-shemeshi maze rusohoka rwerekeza i Geliloti, aharabana n’umudugo wa Adumimu+; hanyuma rwamanuka rwerekeza kw’ibuye+ rya Bohani+ mwene Rubeni. 18 Rwagenda rwerekeza ku mumanuko wo mu buraruko urabana na Araba maze rukamanuka ruja muri Araba. 19 Nya rubibe rwaragenda rwerekeza ku mumanuko wa Beti-hogula+ wo mu buraruko, rukagarukira ku kagobe k’ikiyaga c’Umunyu+ ko mu buraruko ku mpera yo mu bumanuko ya Yorodani. Urwo ni rwo rwari urubibe rwo mu bumanuko. 20 Yorodani yari urubibe rw’akarere kabo ku ruhande rwo mu buseruko. Iyo ni yo yari intoranwa ya bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo, nk’uko imbibe zayo irya n’ino zari.

21 Ibisagara vy’umuryango wa bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo vyari Yeriko+ na Beti-hogula na Emeki-kezizi, 22 na Beti-araba+ na Zemarayimu na Beteli+, 23 na Avimu na Para na Ofura+, 24 na Kefari-amoni na Ofuni na Geba+; ibisagara cumi na bibiri n’imihana irundanye ibikukira.

25 Gibeyoni+ na Rama na Beyeroti, 26 na Mizipe+ na Kefira+ na Moza, 27 na Rekemu na Iripeyeli na Tarala, 28 na Zela+, Ha-elefu na Yebusi, ari yo Yeruzalemu+, na Gibeya+ na Kiriyati; ibisagara cumi na bine n’imihana irundanye ibikukira.

Iyo ni yo yabaye intoranwa ya bene Benyamini hakurikijwe imiryango yabo+.

19 Maze ubupfindo+ bugira kabiri busohoka ku bwa Simeyoni+, ku bw’umuryango wa bene Simeyoni hakurikijwe imiryango yabo. Intoranwa yabo yari hagati mu ntoranwa ya bene Yuda+. 2 Baronka mu ntoranwa yabo Beyeri-sheba+ hamwe na Sheba, na Molada+, 3 na Hazari-shuwali+ na Bala na Ezemu+, 4 na Elitoladi+ na Betuli na Horuma, 5 na Zikulagi+ na Beti-marikaboti na Hazari-susa+, 6 na Beti-lebayoti+ na Sharuheni; ibisagara cumi na bitatu n’imihana irundanye ibikukira. 7 Ayini+, Rimoni+ na Eteri na Ashani+; ibisagara bine n’imihana irundanye ibikukira, 8 n’imihana irundanye yose yari irya n’ino y’ivyo bisagara gushika i Bayalati-beyeri+, ari ho Rama+ yo mu bumanuko. Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa bene Simeyoni hakurikijwe imiryango yabo. 9 Intoranwa ya bene Simeyoni yakuwe ku mugabane wa bene Yuda, kuko umuturi wa bene Yuda wari munini rwose kuri bo+. Bene Simeyoni baronka rero aho bigabira hagati mu ntoranwa yabo+.

10 Hanyuma ubupfindo+ bugira gatatu bugirirwa bene Zebuloni+, hakurikijwe imiryango yabo, urubibe rw’intoranwa yabo rukaba rwaragenda gushika i Saridi. 11 Urubibe rwabo rwaraduga amaja mu burengero gushika n’i Mareyali, rugashika i Dabesheti, maze rugashika ku mwonga urabana na Yokineyamu+. 12 Rwarahindukira ruvuye i Saridi rukerekeza mu buseruko amaja iyo izuba rirasira, rugashika ku mupaka wa Kisiloti-tabori, maze rugasohoka ruja i Daberati+ hanyuma rukaduga rwerekeza i Yafiya. 13 Ruvuye ng’aho rwaragenda rwerekeza mu buseruko amaja i burasirazuba ruja i Gati-heferi+ hanyuma rukaja i Eti-kazini, rugasohoka rwerekeza i Rimoni, maze rucibwa gushika i Neya. 14 Nya rubibe rwarahazunguruka, mu buraruko, rwerekeza i Hanatoni, rukagarukira ku mubande wa Ifuta-eli, 15 na Katati na Nahalali na Shimuroni+ na Idala na Betelehemu+; ibisagara cumi na bibiri n’imihana irundanye ibikukira. 16 Iyo ni yo yabaye intoranwa+ ya bene Zebuloni hakurikijwe imiryango yabo+. Ivyo ni vyo vyabaye ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

17 Ubupfindo bugira kane busohoka ku bwa Isakari+, ku bwa bene Isakari hakurikijwe imiryango yabo. 18 Urubibe rwabo rwaca i Yezireyeli+ n’i Kesuloti n’i Shunemu+, 19 n’i Hafarayimu n’i Shiyoni n’i Anaharati, 20 n’i Rabiti n’i Kishiyoni n’i Ebezi, 21 n’i Remeti n’i Eni-ganimu+ n’i Eni-hada n’i Beti-pazezi. 22 Nya rubibe rwashika i Tabori+ n’i Shahazuma n’i Beti-shemeshi, umupaka wabo ukaba wagarukira kuri Yorodani; ibisagara cumi na bitandatu n’imihana irundanye ibikukira. 23 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa bene Isakari hakurikijwe imiryango yabo+, ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

24 Maze ubupfindo+ bugira gatanu busohoka ku bw’umuryango wa bene Asheri+ hakurikijwe imiryango yabo. 25 Urubibe rwabo rwari Helikati+ na Hali na Beteni na Akishafu+, 26 na Alameleki na Amadi na Mishali+. Mu burengero rwashika kuri Karumeli+ n’i Shihori-libunati, 27 rugahindukira rugana iyo izuba rirasira rwerekeza i Beti-dagoni, rugashika kwa Zebuloni+ no ku mubande wa Ifuta-eli mu buraruko, i Beti-emeki n’i Neyeli, maze rugasohoka rwerekeza i Kabuli ibubamfu, 28 n’i Eburoni n’i Rehobu n’i Hamoni n’i Kana gushika i Sidoni+, ahaba abantu benshi. 29 Nya rubibe rwarahindukira rwerekeza i Rama gushika ku gisagara gikingijwe ibihome ca Tiro+. Rwarahindukira rwerekeza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga mu karere ka Akizibu+, 30 n’i Uma n’i Afeki+ n’i Rehobu+; ibisagara mirongo ibiri na bibiri n’imihana irundanye ibikukira. 31 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa bene Asheri hakurikijwe imiryango yabo+. Ivyo ni vyo vyabaye ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

32 Ubupfindo+ bugira gatandatu busohoka ku bwa bene Nafutali+, ku bwa bene Nafutali hakurikijwe imiryango yabo. 33 Urubibe rwabo rwava i Helefu, ku giti kinini c’i Zayananimu+, rukaja i Adami-nekebu n’i Yabuneyeli gushika i Lakumu; rwagarukira kuri Yorodani. 34 Nya rubibe rwarahindukira rugana mu burengero rwerekeza i Azinoti-tabori, hanyuma rugasohoka ruvuye ng’aho rwerekeza i Hukoka rugashika kwa Zebuloni+ mu bumanuko, rugashika kwa Asheri+ mu burengero no kwa Yuda+ kuri Yorodani amaja iyo izuba rirasira. 35 Ibisagara bikingijwe ibihome vyari Zidimu, Zeru na Hamati+, Rakati na Kinereti+, 36 na Adama na Rama na Hazori+, 37 na Kedeshi+ na Edireyi na Eni-hazori, 38 na Yironi na Migidali-eli, Horemu na Beti-anati na Beti-shemeshi+; ibisagara cumi n’icenda n’imihana irundanye ibikukira. 39 Iyo ni yo yabaye intoranwa+ y’umuryango wa bene Nafutali hakurikijwe imiryango yabo+, ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

40 Ubupfindo bugira indwi+ busohoka ku bw’umuryango wa bene Dani+ hakurikijwe imiryango yabo. 41 Umupaka w’intoranwa yabo wari Zora+ na Eshitayoli na Iri-shemeshi, 42 na Shayalabini+ na Ayaloni+ na Itula, 43 na Eloni na Timuna+ na Ekuroni+, 44 na Eliteke na Gibetoni+ na Bayalati+, 45 na Yehudu na Bene-beraki na Gati-rimoni+, 46 na Me-yarukoni na Rakoni, umupaka ukaba warabana na Yopa+. 47 Akarere ka bene Dani kari kabagiye rwose+. Nuko bene Dani baraduga, barwanya Leshemu+ barahafata hanyuma bahakubitisha ubugi bw’inkota. Maze barahigarurira, barahaba, hanyuma Leshemu bayita Dani bisunze izina rya Dani sekuruza wabo+. 48 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa bene Dani hakurikijwe imiryango yabo. Ivyo ni vyo vyabaye ibisagara n’imihana irundanye ibikukira.

49 Gutyo barangiza kugabura igihugu ngo bacigabire, bakurikije uturere twaco. Maze bene Isirayeli baha intoranwa Yosuwa mwene Nuni hagati muri bo. 50 Kw’itegeko rya Yehova bamuha igisagara yasavye+, ari co Timunati-sera+, mu karere k’imisozi ka Efurayimu; atangura kwubaka nya gisagara araheza akibamwo.

51 Izo ni zo ntoranwa Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli bagabanganije+ ngo zigabirwe, biciye ku bupfindo, i Shilo+ imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+. Nuko bahagarika kugabanganya igihugu.

20 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 2 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro+ nababwiye biciye kuri Musa, 3 kugira ngo uwishe umuntu+ akaba yamukubise atabishaka, atabizi, akamwica, ahungireyo; bize bibabere aho guhungira umuhōzi w’amaraso+. 4 Aze ahungire+ muri kimwe muri ivyo bisagara, ahagarare ku bwinjiriro bw’irembo+ ry’igisagara maze avuge ivyiwe abagabo b’inararibonye b’ico gisagara bumva+; baze bamwakire mu gisagara aho bari, bamuhe aho kuba, abane na bo. 5 Umuhōzi w’amaraso niyamwoma inyuma, ntibaze rero batange mu kuboko kwiwe uwo yishe umuntu+; kuko yakubise atabizi mugenziwe agapfa, kandi akaba atari asanzwe amwanka+. 6 Aze abe muri ico gisagara gushika ahagaze imbere y’ikoraniro ngo acirwe urubanza+, gushika umuherezi mukuru+ azoba ariho muri iyo misi apfuye. Ni ho uwo yishe umuntu azoshobora gusubira iwabo+; aze yinjire mu gisagara ciwe no mu nzu yiwe, mu gisagara yari yahunze avamwo.’”

7 Nuko igisagara ca Kedeshi+ muri Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, n’ica Shekemu+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-aruba+, ari co Heburoni, mu karere k’imisozi ka Yuda, babigira vyeranda. 8 Mu karere ka Yorodani, aharabana na Yeriko, amaja mu buseruko, batanga Bezeri+ mu gahinga ku mataba mu muryango wa Rubeni+, na Ramoti+ muri Gileyadi mu muryango wa Gadi, be na Golani+ muri Bashani mu muryango wa Manase.

9 Ivyo ni vyo vyabaye ibisagara vyashiriweho bene Isirayeli bose na kavamahanga abayeho ari kavamahanga hagati muri bo, ngo uwo wese akubise umuntu atabishaka agapfa ahungireyo+, kugira ntagwe mu kuboko kw’umuhōzi w’amaraso, gushika ahagaze imbere y’ikoraniro+.

21 Nuko abakuru ba ba se b’Abalewi begera Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa+ mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli, 2 bababwirira i Shilo+ mu gihugu ca Kanani bati: “Yehova yategetse biciye kuri Musa ko duhabwa ibisagara vyo kubamwo, kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo ku bw’ibikoko vyacu vy’ibitungano+.” 3 Bene Isirayeli, bakurikije itegeko rya Yehova, baha rero Abalewi+ ibi bisagara n’amatongo y’uburagiriro yavyo mu ntoranwa yabo+.

4 Maze ubupfindo busohoka ku bw’imiryango y’Abakohati+, hanyuma ibisagara cumi na bitatu biraheza vyegukira bene Aroni umuherezi, bo mu Balewi, biciye ku bupfindo, bikuwe mu muryango wa Yuda+ no mu muryango w’Abasimeyoni+ no mu muryango wa Benyamini+.

5 Bene Kohati+ bari basigaye, baronka biciye ku bupfindo ibisagara cumi mu miryango y’umuryango wa Efurayimu+ no mu muryango wa Dani+ no mu gice c’umuryango wa Manase+.

6 Bene Gerishoni+ baronka biciye ku bupfindo ibisagara cumi na bitatu mu miryango y’umuryango wa Isakari+ no mu muryango wa Asheri+ no mu muryango wa Nafutali+ no mu gice c’umuryango wa Manase muri Bashani+.

7 Bene Merari+, hakurikijwe imiryango yabo, baronka ibisagara cumi na bibiri mu muryango wa Rubeni+ no mu muryango wa Gadi+ no mu muryango wa Zebuloni+.

8 Ukwo ni ko bene Isirayeli bahaye Abalewi bino bisagara n’amatongo y’uburagiriro+ yavyo biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarategetse biciye kuri Musa+.

9 Mu muryango wa bene Yuda no mu muryango wa bene Simeyoni batanga rero ibi bisagara bigira bivugwe amazina+, 10 maze vyegukira bene Aroni mu miryango y’Abakohati bo muri bene Lewi, kuko ubupfindo bwa mbere bwabaye ubwabo+. 11 Gutyo babaha Kiriyati-aruba+ (uwo Aruba yari se wa Anaki+), ari yo Heburoni+, mu karere k’imisozi ka Yuda+, be n’itongo ry’uburagiriro ryaho ryari rihakikuje; 12 akarere kegukira ico gisagara be n’imihana irundanye igikukira na vyo babiha Kalebu mwene Yefune ngo avyigabire+.

13 Bene Aroni umuherezi babaha igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Heburoni+, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Libuna+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 14 na Yatiri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Eshitemowa+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 15 na Holoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Debiri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 16 na Ayini+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Yuta+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Beti-shemeshi+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara icenda bikuwe muri iyo miryango ibiri.

17 Mu muryango wa Benyamini hatangwa Gibeyoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Geba+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 18 Anatoti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Alumoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

19 Ibisagara vyose vya bene Aroni+, abaherezi, vyari ibisagara cumi na bitatu n’amatongo y’uburagiriro yavyo+.

20 Imiryango ya bene Kohati, Abalewi bari basigaye muri bene Kohati, ironka biciye ku bupfindo bwabo, ibisagara mu muryango wa Efurayimu+. 21 Babaha rero igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Shekemu+, n’itongo ry’uburagiriro ryaco+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, na Gezeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 22 na Kibuzayimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Beti-horoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

23 Mu muryango wa Dani hatangwa Eliteke n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Gibetoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 24 Ayaloni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Gati-rimoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

25 Mu gice c’umuryango wa Manase hatangwa Tayanaki+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Gati-rimoni n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bibiri.

26 Ibisagara vyose kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo imiryango ya bene Kohati bari basigaye baronse vyari cumi.

27 Bene Gerishoni+, bo mu miryango y’Abalewi, baronka, mu gice c’umuryango wa Manase+, igisagara c’ubuhungiro ku bw’uwishe umuntu, ari co Golani+ muri Bashani, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Beyeshitera+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bibiri.

28 Mu muryango wa Isakari+ hatangwa Kishiyoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Daberati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 29 Yarimuti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Eni-ganimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

30 Mu muryango wa Asheri+ hatangwa Mishali+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Abudoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 31 Helikati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Rehobu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

32 Mu muryango wa Nafutali+ hatangwa igisagara c’ubuhungiro+ ku bw’uwishe umuntu+, ari co Kedeshi+ muri Galilaya, n’itongo ry’uburagiriro ryaco, na Hamoti-dori+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Karutani n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bitatu.

33 Ibisagara vyose vy’Abagerishoni hakurikijwe imiryango yabo vyari ibisagara cumi na bitatu n’amatongo y’uburagiriro yavyo.

34 Imiryango ya bene Merari+, Abalewi bari basigaye, ironka mu muryango wa Zebuloni+, Yokineyamu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Karuta n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 35 Dimuna+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Nahalali+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

36 Mu muryango wa Rubeni+ hatangwa Bezeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Yahazi+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 37 Kedemoti+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Mefayati+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara bine.

38 Mu muryango wa Gadi+ hatangwa igisagara c’ubuhungiro ku bw’uwishe umuntu, ari co Ramoti i Gileyadi+, n’itongo ry’uburagiriro ryaho, na Mahanayimu+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, 39 Heshiboni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Yazeri+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho; ibisagara vyose bikaba vyari bine.

40 Ibisagara vyose vyegukiye bene Merari+ hakurikijwe imiryango yabo, abari basigaye mu miryango y’Abalewi, vyari ibisagara cumi na bibiri baheshejwe ubupfindo.

41 Ibisagara vyose vy’Abalewi hagati mu karere bene Isirayeli bigabira vyari ibisagara mirongo ine n’umunani+ kumwe n’amatongo y’uburagiriro yavyo+. 42 Igisagara kimwe cose muri ivyo kiba igisagara kiri kumwe n’itongo ry’uburagiriro ryaco rigikikije; ukwo ni ko vyari kuri ivyo bisagara vyose+.

43 Yehova aha rero Isirayeli igihugu cose yari yararahiye ko azoha ba sekuruza babo+; nuko baracigarurira+, bakibamwo. 44 Vyongeye, Yehova abaha akaruhuko+ impande zose, yisunze ivyo yari yararahiye+ ko azoha ba sekuruza babo vyose; nta n’umwe mu bansi babo bose yabahagaze imbere+. Abansi babo bose Yehova yabatanze mu kuboko kwabo+. 45 Nta muhango n’umwe utashitse mu mihango myiza yose Yehova yari yarahaye inzu ya Isirayeli; yose yararangutse+.

22 Ico gihe Yosuwa ahamagara Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase+, 2 ababwira ati: “Mwebwe mwaragumije ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse vyose+, kandi mwaragamburutse ijwi ryanje mu vyo nabategetse vyose+. 3 Ntimwataye bene wanyu iyi misi myinshi+ gushika n’uyu musi, kandi mwarashikije ico musabwa n’ibwirizwa rya Yehova Imana yanyu+. 4 Ubu rero Yehova Imana yanyu yahaye bene wanyu akaruhuko, nk’uko nyene yabasezeraniye+. None rero nimuhindukire, muje ku mahema yanyu mu gihugu mwigabira, ico Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani+. 5 Ariko mwitwararike cane gushitsa ibwirizwa+ n’itegeko Musa umusavyi wa Yehova yabategetse, mu gukunda Yehova Imana yanyu+, mu kugendera mu nzira ziwe zose+, mu kugumya amabwirizwa yiwe+, mu kwumira kuri we+ no mu kumukorera+ n’umutima wanyu wose+ n’ubuzima bwanyu bwose+.”

6 Yosuwa aca arabahezagira+ hanyuma arabarungika kugira bagende ku mahema yabo. 7 Igice c’umuryango wa Manase, Musa yari yaragihaye ingabirano i Bashani+, ikindi gice cawo na co Yosuwa yagihanye ingabirano na bene wabo ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero+. Igihe rero Yosuwa yabarungika ku mahema yabo, yaranabahezagiye. 8 Hanyuma ababwira ati: “Nimusubire ku mahema yanyu muri n’ubutunzi bwinshi n’ibitungwa vyinshi cane, n’ifeza n’inzahabu n’umujumpu n’icuma n’impuzu nyinshi cane+. Mwebwe hamwe na bene wanyu mutore umuturi wanyu w’isahu+ ry’abansi banyu.”

9 Inyuma y’ivyo, bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase basubira inyuma, bava muri bene Isirayeli bandi, i Shilo mu gihugu ca Kanani, kugira baje mu gihugu ca Gileyadi+, mu gihugu bigabira bari baragerereyemwo kw’itegeko rya Yehova, iryo yatanze biciye kuri Musa+. 10 Bashitse mu turere twa Yorodani twari mu gihugu ca Kanani, bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase baca bubakayo igicaniro iruhande ya Yorodani, igicaniro+ kinini cibonekeza. 11 Mu nyuma, abandi bahungu ba Isirayeli bumva+ bivugwa ngo: “Ehe bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku mupaka w’igihugu ca Kanani mu turere twa Yorodani, ku ruhande rwegukira bene Isirayeli.” 12 Bene Isirayeli ngo bavyumve, ikoraniro rya bene Isirayeli ryose+ rica rikoranirizwa i Shilo+ kugira baduge kugaba igitero ca gisirikare kuri bo+.

13 Maze bene Isirayeli batuma+ Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi kuri bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase mu gihugu ca Gileyadi, 14 ari kumwe n’abakuru cumi, umukuru umwe w’inzu ya ba sekuru imwimwe yose mu miryango ya Isirayeli, kandi umwe wese muri bo yari umukuru w’inzu ya ba se babo mu bihumbi vya Isirayeli+. 15 Amaherezo bashika kuri bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase mu gihugu ca Gileyadi, batangura kuvugana na bo+ bati:

16 “Ibi ni vyo ikoraniro ryose rya Yehova+ rivuze: ‘Kubera iki mwahemukiye+ Imana ya Isirayeli, mukareka+ uyu musi gukurikira Yehova mu kwiyubakira igicaniro+, kugira ngo uyu musi mugararize Yehova? 17 Mbega ikosa ry’i Peyori+ ryatubereye rito cane, iryo tutarihumanura gushika n’uyu musi, naho icago caje kw’ikoraniro rya Yehova+? 18 Namwe uyu musi mushaka kureka gukurikira Yehova. Nimwagarariza Yehova uyu musi, ejo ikoraniro ryose rya Isirayeli ni ryo rero azorakarira+. 19 Nimba rero igihugu mwigabira gihumanye koko+, nimujabuke muje mu gihugu Yehova yigabira+, aho itaberenakulo* ya Yehova iba+, mugerere hagati muri twebwe; mugabo ntimugararize Yehova kandi ntimutume tuba abagarariji mu kwiyubakira igicaniro ciyongereye ku gicaniro ca Yehova Imana yacu+. 20 Mbega Akani+ mwene Zera si we yakoze ikintu c’ubuhemu ku bijanye n’ikintu cari ico gutikizwa yamara ikoraniro ryose rya Isirayeli rikaba ari ryo rirakarirwa+? Kandi si we wenyene yapfiriye mw’ikosa ryiwe+.’”

21 Nuko bene Rubeni na bene Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bishura+ abakuru b’ibihumbi vya Isirayeli+ bati: 22 “Nyenubumana+, Imana+ Yehova, Nyenubumana, Imana Yehova+, arabizi+, na Isirayeli na yo nyene izobimenya+. Niba twabitumwe n’ubugarariji+ kandi nimba twabitumwe n’uguhemukira Yehova+, ntudukize uyu musi. 23 Nimba kwari ukugira ngo twiyubakire igicaniro kugira dusubire inyuma tureke gukurikira Yehova, kandi nimba kwari ukugira ngo dushikane kuri co amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete+, kandi nimba kwari ukugira ngo duhereze kuri co ibimazi vy’ugusangira, Yehova ubwiwe arabisuzuma+; 24 canke nimba twabikoze tutabitumwe n’uko riho turajwe ishinga cane n’ikindi kintu, tuvuga duti: ‘Mu gihe kizoza abana banyu bazobwira abana bacu bati: “Muhuriye ku ki na Yehova Imana ya Isirayeli? 25 Hariho urubibe Yehova yashize hagati yacu na mwebwe bene Rubeni na bene Gadi, ari rwo Yorodani. Nta muturi mufise muri Yehova+.” Abana banyu rero ntibazobura gutuma abana bacu bareka gutinya Yehova+.’

26 “Ku bw’ivyo twavuze duti: ‘Enda nimuze tugire ico dukoze ku neza yacu, mu kwubaka iki gicaniro, atari ico gushikanirako ishikanwa riturirwa canke ikimazi, 27 mugabo kugira kibe icabona hagati yacu+ namwe be n’amayaruka yacu hanyuma yacu, yuko tuzokora igikorwa ca Yehova imbere yiwe tumushikanira amashikanwa yacu aturirwa n’ibimazi vyacu n’ibimazi vyacu vy’ugusangira+, kugira abana banyu ntibaze babwire abana bacu mu gihe kizoza ngo: “Nta muturi mufise muri Yehova.”’ 28 Twavuze rero duti: ‘Nibatubwira ivyo, twebwe hamwe n’amayaruka yacu mu gihe kizoza, tuzobabwira rero duti: “Ehe ishusho y’igicaniro ca Yehova ba dawe bahinguye, atari ico gushikanirako ishikanwa riturirwa canke ikimazi, mugabo ni icabona hagati yacu namwe.”’ 29 Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe kugarariza Yehova bituvuyeko, tukareka uyu musi gukurikira Yehova+ mu kwubaka igicaniro co gushikanirako ishikanwa riturirwa, ishikanwa ry’intete n’ikimazi, ciyongereye ku gicaniro ca Yehova Imana yacu kiri imbere y’itaberenakulo yiwe+!”

30 Finehasi+ umuherezi n’abakuru b’ikoraniro+ n’abakuru b’ibihumbi vya Isirayeli bari kumwe na we bumvise amajambo bene Rubeni na bene Gadi na bene Manase bavuze, biba vyiza mu maso yabo. 31 Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abwira bene Rubeni na bene Gadi na bene Manase ati: “Uno musi turamenye koko yuko Yehova ari hagati yacu+, kuko mutakoreye Yehova ico kintu c’ubuhemu. Ubu murokoye bene Isirayeli mu kuboko kwa Yehova+.”

32 Finehasi mwene Eleyazari umuherezi n’abakuru baca basubira inyuma+ bavuye kuri bene Rubeni na bene Gadi mu gihugu ca Gileyadi, baja mu gihugu ca Kanani ku bandi bahungu ba Isirayeli, babagarukanira inyishu+. 33 Iyo nyishu iba nziza mu maso ya bene Isirayeli; bene Isirayeli bahezagira rero Imana+, maze ntibavuga ivyo kuduga kugaba igitero ca gisirikare kuri bo kugira bageseze igihugu bene Rubeni na bene Gadi babamwo.

34 Nuko bene Rubeni na bene Gadi bita izina nya gicaniro, kuko bavuze bati: “Ni icabona hagati yacu yuko Yehova ari we Mana y’ukuri+.”

23 Nuko haciye imisi myinshi Yehova aruhuye+ Isirayeli abansi bayo bose bari bayikikuje, igihe Yosuwa yari ashaje kandi yitereye mu myaka+, 2 Yosuwa ahamagara Isirayeli yose+, abagabo b’inararibonye bayo n’abakuru bayo n’abacamanza bayo n’abarongozi bayo+, ababwira ati: “Jewe nashaje, nitereye mu myaka. 3 Mwebwe mwarabonye ibintu vyose Yehova Imana yanyu yagiriye aya mahanga yose ku bwanyu+, kuko Yehova Imana yanyu ari we yabarwanira+. 4 Ehe nabahesheje ubupfindo+ aya mahanga asigaye ngo abere intoranwa imiryango yanyu, n’amahanga yose naranduye+, guhera kuri Yorodani gushika kuri ca Kiyaga Kinini iyo izuba rirengera+. 5 Yehova Imana yanyu ni we yagumye ayahindira kure imbere yanyu+, arayomora ku bwanyu, maze mwigarurira igihugu cayo, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yari yarabasezeraniye+.

6 “Muze mugire umutima rugabo mushikame+, kugira mugumye mwongere mushitse ivyanditswe mu gitabu+ c’itegeko rya Musa vyose mu kutigera mubivako ngo mukebereze iburyo canke ibubamfu+, 7 mu kutigera mwinjira muri ayo mahanga+, ayo asigaranye namwe. Ntimuze mucishe mu kanwa amazina y’imana zayo+ canke ngo muzirahire+, eka ntimuze muzikorere canke ngo muzunamire+. 8 Mugabo Yehova Imana yanyu aze abe ari we mwumirako+, nk’uko nyene mwabigize gushika n’uyu musi. 9 Kandi Yehova azokwirukana imbere yanyu amahanga ahambaye kandi akomeye+. (Nayo mwebwe, nta muntu n’umwe yahagaze imbere yanyu gushika n’uyu musi+.) 10 Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabasezeraniye+. 11 Kandi muze mwame mwirinda+ ubwanyu, mu gukunda Yehova Imana yanyu+.

12 “Mugabo nimwaramuka musubiye inyuma+ mukumira koko ku yasigaye muri ayo mahanga+, ayo asigaranye namwe, kandi mukunga koko na yo ubucuti bw’ukwabirana+ mukongera mukinjira muri yo, na yo akinjira muri mwebwe, 13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+; emwe, ntazobura kubabera nk’umutego be n’umushibuka, n’ikimoko mu biyunguyungu vyanyu+ kandi nk’amahwa mu maso yanyu gushika muyogeye kuri ubu butaka bwiza Yehova Imana yanyu yabahaye+.

14 “Raba noneho uyu musi ngiye kujana inzira isi yose ijana+, kandi murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse+. 15 Kandi nk’uko nyene ijambo ryiza ryose Yehova Imana yanyu yababwiye ryashitse kuri mwebwe+, ni ko Yehova azozana kuri mwebwe ijambo ribi ryose gushika abazimanganije kuri ubu butaka bwiza Yehova Imana yanyu yabahaye+, 16 kubera yuko muzoba mwahonyanze isezerano rya Yehova Imana yanyu, iryo yabategetse, no kubera yuko muzoba mwagiye gukorera izindi mana mukazunamira+. Ishavu rya Yehova ntirizobura kubarurumbira+, namwe ntimuzobura kuzimangana ningoga mu gihugu ciza yabahaye+.”

24 Nuko Yosuwa akoraniriza hamwe imiryango yose ya Isirayeli i Shekemu+, maze ahamagara abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ n’abakuru bayo n’abacamanza bayo n’abarongozi bayo, baja guhagarara imbere y’Imana y’ukuri+. 2 Maze Yosuwa abwira abantu bose ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Hakurya ya rwa Ruzi+ ni ho ba sogokuruza banyu+ baba kera, harimwo na Tera se wa Aburahamu akaba na se wa Nahori+, kandi bakorera izindi mana.

3 “‘Mu nyuma, narakuye sogokuruza wanyu Aburahamu+ hakurya ya rwa Ruzi+, ndamugendagendesha mu gihugu cose ca Kanani nongera ngwiza uruvyaro rwiwe+. Nuko ndamuha Izahaki+. 4 Maze Izahaki ndamuha Yakobo na Esawu+. Mu nyuma Esawu ndamuha umusozi Seyiri kugira ngo awigarurire+; hanyuma Yakobo n’abahungu biwe bamanuka mu Misiri+. 5 Mu nyuma ntuma Musa na Aroni+, maze nkubitisha Misiri ivyo nakoreye hagati muri yo+; hanyuma mwebwe ndabakurayo+. 6 Igihe nakura ba so mu Misiri+ mugashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye boma+ inyuma ba so n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura. 7 Na bo batangura kuririra Yehova+. Nuko ashira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri+ hanyuma azana ikiyaga kuri bo arabapfuka+, kandi amaso yanyu yarabonye ivyo nakoreye mu Misiri+; hanyuma muba mu gahinga imisi myinshi+.

8 “‘Amaherezo ndabazana mu gihugu c’Abamori baba hakurya ya Yorodani, maze bano barabarwanya+. Nca ndabatanga mu kuboko kwanyu kugira ngo mwigarurire igihugu cabo nongera ndabazimanganya imbere yanyu+. 9 Maze Balaki mwene Zipori+, umwami wa Mowabu, arahaguruka, arwanya Isirayeli+. Atumako rero Balamu mwene Beyori kugira ngo ahamagarire akabi kuri mwebwe+. 10 Ariko sinashatse kwumviriza Balamu+. Nuko rero arabahezagira yisubiriza+. Gutyo ndabarokora mu kuboko kwiwe+.

11 “‘Hanyuma mujabuka Yorodani+, mushika i Yeriko+. Maze bene amatongo b’i Yeriko, Abamori n’Abaperizi n’Abanyakanani n’Abaheti n’Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi batangura kubarwanya; mugabo ndabatanga mu kuboko kwanyu+. 12 Ndungika rero ukujonjogora ngo kubitangire imbere, kuraheza kugenda kurabirukana intambwe ku yindi imbere yanyu+, abami babiri b’Abamori, hadakoreshejwe inkota yawe n’umuheto wawe+. 13 Gutyo ndabaha igihugu mutari mwaracumukuriye n’ibisagara mutari mwarubatse+, muraheza mubibamwo. Imirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo mutateye ni yo muriko murarya+.’

14 “Ubu rero nimutinye Yehova+ mwongere mumukorere ata mahinyu no mu kuri+, kandi mukureho imana ba sogokuruza banyu bakorera hakurya ya rwa Ruzi no mu Misiri+, maze mukorere Yehova. 15 Mugabo nimba ari bibi mu maso yanyu gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, ari imana ba sogokuruza banyu bari hakurya ya rwa Ruzi bakorera+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Ariko jewe n’urugo rwanje tuzokorera Yehova+.”

16 Nuko abantu bishura bati: “Ni ibitokwiyumvirwa kuri twebwe guheba Yehova ngo dukorere izindi mana. 17 Kuko Yehova Imana yacu ari we yatuduganye twe na ba data adukuye mu gihugu ca Misiri+, mu nzu y’abashumba+, kandi akaba ari we yakoreye ibi bimenyetso bikomeye mu maso yacu+ kandi akaguma aturinda mu nzira yose twaciyemwo no mu bisata vy’abantu vyose twaciye hagati+. 18 Kandi Yehova yirukanye imbere yacu ibisata vy’abantu vyose+ vyaba mu gihugu, egome, Abamori. Ku bitwerekeye, natwe tuzokorera Yehova, kuko ari we Mana yacu+.”

19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+. 20 Nimwaheba Yehova+ mugakorera koko imana z’inyamahanga+, ntazobura guhindukira rero abagirire nabi, abatikize, amaze kubagirira neza+.”

21 Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Oya, ahubwo Yehova ni we tuzokorera+!” 22 Yosuwa aca abwira abantu ati: “Muri ivyabona bibagiriza+ yuko mwihitiyemwo Yehova, kugira mumukorere+.” Na bo bavuga bati: “Turi ivyabona.”

23 “Ubu rero nimukureho imana z’inyamahanga ziri hagati muri mwebwe+, maze mushire imitima yanyu kuri Yehova Imana ya Isirayeli.” 24 Abantu na bo babwira Yosuwa bati: “Yehova Imana yacu ni we tuzokorera, kandi ijwi ryiwe ni ryo tuzokwumviriza+!”

25 Nuko Yosuwa agirana isezerano n’abantu kuri uwo musi, abashingira ingingo nyobozi n’ingingo y’ubutungane*+ i Shekemu. 26 Maze Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabu c’itegeko ry’Imana+ hanyuma atora ibuye rinini+ arishinga ng’aho, munsi y’uruti rusagaraye+ ruri iruhande y’aheranda ha Yehova.

27 Yosuwa abandanya kubwira abantu bose ati: “Ehe iri buye ni ryo rizoba icabona co kutwagiriza+, kuko ryiyumviye amajambo yose ya Yehova, ayo yatubwiye; ritegerezwa kuba icabona co kubagiriza, kugira ntimwihakane Imana yanyu.” 28 Yosuwa aca arungika abantu, umwe wese ku ntoranwa yiwe+.

29 Inyuma y’ivyo, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, amaherezo arapfa afise imyaka ijana na cumi+. 30 Nuko bamuhamba mu karere k’intoranwa yiwe i Timunati-sera+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi. 31 Isirayeli ibandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa+ kandi bari baramenye igikorwa cose ca Yehova, ico yakoreye Isirayeli+.

32 Kandi amagufa ya Yozefu+, ayo bene Isirayeli bari baraduganye bayakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mu gice c’itongo Yakobo yari yaguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku bice ijana vy’amahera+; kiraheza cegukira bene Yozefu bwa ntoranwa+.

33 Na Eleyazari mwene Aroni arapfa+. Nuko bamuhamba mu Murambi wa Finehasi umuhungu wiwe+, uwo yari yaramuhaye mu karere k’imisozi ka Efurayimu.

Raba Inyongera ya 21.

Ni amatambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka cm 44,5.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “amasandali.”

Bisobanura “Ikumirwa; Ingorane.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “mu ntara yo hasi.”

Ni ukuvuga se wa Akisa.

Canke, “nzobakwegera ubupfindo.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika