ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Abacamanza 1:1-21:25
  • Abacamanza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abacamanza
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Abacamanza

Abacamanza

1 Inyuma y’urupfu+ rwa Yosuwa, bene Isirayeli babaza+ Yehova bati: “Ni nde muri twebwe azotangura kuduga ku Banyakanani kubarwanya?” 2 Yehova avuga ati: “Yuda azoduga+. Ehe nzotanga ata gukeka igihugu mu kuboko kwiwe.” 3 Maze Yuda abwira Simeyoni mwene wabo ati: “Ingo tudugane mu karere naheshejwe ubupfindo+, turwanye Abanyakanani, nanje nzojana nawe mu karere waheshejwe ubupfindo+.” Nuko rero Simeyoni ajana na we+.

4 Yuda aca araduga maze Yehova atanga Abanyakanani n’Abaperizi mu maboko yabo+, ku buryo babatsindira i Bezeki: batsinda abagabo ibihumbi cumi. 5 Aho basangiye Adoni-bezeki i Bezeki, baca barwana na we maze batsinda Abanyakanani+ n’Abaperizi+. 6 Adoni-bezeki ahunze, baca bamwoma inyuma, baramufata maze bamuca ibikumu vy’iminwe yiwe n’amano makuru y’ibirenge vyiwe. 7 Adoni-bezeki avuga rero ati: “Hari abami mirongo irindwi baciwe ibikumu vy’iminwe yabo n’amano makuru y’ibirenge vyabo bahora batoragura ibifungurwa munsi y’imeza yanje+. Uko nagize, ni ko Imana inyishuye.” Inyuma y’ivyo bamujana i Yeruzalemu+, apfirayo.

8 Vyongeye, bene Yuda barwanya Yeruzalemu+ hanyuma barahafata maze bahakubitisha ubugi bw’inkota, ico gisagara bagiha umuriro. 9 Mu nyuma bene Yuda bamanuka kurwanya Abanyakanani baba mu karere k’imisozi n’i Negebu+ no muri Shefela*+. 10 Yuda agenda rero gutera Abanyakanani baba i Heburoni+ (imbere y’aho, izina rya Heburoni ryari Kiriyati-aruba+), bica Sheshayi na Ahimani na Talimayi+.

11 Nuko bava ng’aho baja gutera ababa i Debiri+. (Imbere y’aho, izina rya Debiri ryari Kiriyati-seferi+.) 12 Maze Kalebu+ avuga ati: “Uwuzokubita Kiriyati-seferi akahafata koko, emwe, nzomuha Akisa+ umukobwa wanje amubere umugore+.” 13 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+, arahafata. Ku bw’ivyo amuha Akisa umukobwa wiwe ngo amubere umugore+. 14 Maze Akisa ariko araja iw’umugabo, aguma ahimiriza umugabo wiwe ngo asabe se wiwe* itongo. Nuko Akisa akoma amashi yicaye ku ndogobwa+. Kalebu aca amubwira ati: “Ushaka iki?” 15 Na we amubwira ati: “Numpe umuhezagiro+, kuko igice c’itongo co mu bumanuko ari co wampaye; ukwiye rero kumpa Guloti-mayimu.” Nuko rero Kalebu amuha Guloti+ yo Haruguru na Guloti yo Hepfo.

16 Abahungu b’Umukeni+, uwo Musa yari yarabereye umukwe+, bava mu gisagara c’ibigazi+ badugana na bene Yuda mu gahinga ka Yuda, akari mu bumanuko bwa Aradi+. Maze baja kubana n’abantu baho+. 17 Mugabo Yuda ajana na Simeyoni mwene wabo, maze bakubita Abanyakanani baba i Zefati, barahatikiza+. Ku bw’ivyo, ico gisagara gihabwa izina Horuma+. 18 Inyuma y’ivyo Yuda afata Gaza+ n’akarere kaho, na Ashikeloni+ n’akarere kaho, na Ekuroni+ n’akarere kaho. 19 Yehova abandanya kubana na Yuda, ku buryo yigarurira akarere k’imisozi, mugabo ntiyashobora kwomora ababa mu kiyaya co hasi, kuko bari bafise imikogote y’intambara+ ifise ibikeruzo vy’icuma+. 20 Kalebu ahawe Heburoni nk’uko Musa yari yarasezeranye+, yirukanayo rero ba bahungu batatu ba Anaki+.

21 Kandi bene Benyamini ntibirukanye Abayebusi baba i Yeruzalemu+; mugabo Abayebusi baracabana na bene Benyamini i Yeruzalemu gushika n’uyu musi+.

22 Muri ico gihe, inzu ya Yozefu+ na yo nyene iraduga gutera Beteli+, kandi Yehova abana na bo+. 23 Inzu ya Yozefu itangura gutata+ Beteli (imbere y’aho, ico gisagara citwa Luzi+), 24 maze inderetsi zibona umugabo yari asohotse ava muri ico gisagara. Nuko bamubwira bati: “Turakwinginze utwereke aho twoca ngo dushike mu gisagara, natwe tuzokugirira ubuntu koko+.” 25 Nya mugabo abereka rero aho boca ngo bashike mu gisagara; maze bakubitisha ico gisagara ubugi bw’inkota+, ariko nya mugabo n’umuryango wiwe wose barabareka barigira+. 26 Nya mugabo aca aja mu gihugu c’Abaheti+, yubaka igisagara maze acita Luzi. Iryo ni ryo zina ryaco gushika n’uyu musi.

27 Manase+ ntiyigarurira Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, mugabo Abanyakanani baragagaza babandanya kuba muri ico gihugu+. 28 Nuko Isirayeli irakomera+ hanyuma ikoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, mugabo ntibabirukana ngo babaherengeteze+.

29 Na Efurayimu ntiyirukana Abanyakanani baba i Gezeri, mugabo Abanyakanani babandanya kuba muri bo i Gezeri+.

30 Zebuloni+ ntiyirukana ababa i Kitironi n’ababa i Nahaloli+, mugabo Abanyakanani babandanya kuba muri bo+, barahava bakoreshwa ibikorwa vy’agahato+.

31 Asheri+ ntiyirukana ababa i Ako n’ababa i Sidoni+ na Ahulabu na Akizibu+ na Heluba na Afiki+ na Rehobu+. 32 Abasheri babandanya kuba mu Banyakanani baba mu gihugu, kuko batabirukanye+.

33 Nafutali+ ntiyirukana ababa i Beti-shemeshi n’ababa i Beti-anati+, mugabo Abanafutali babandanya kuba mu Banyakanani baba mu gihugu+; ababa i Beti-shemeshi n’i Beti-anati bacika ababo ngo babakoreshe ibikorwa vy’agahato+.

34 Abamori baguma basunikira bene Dani+ mu karere k’imisozi, kuko batabakundira kumanuka mu kiyaya co hasi+. 35 Nuko Abamori baragagaza babandanya kuba ku musozi Heresi n’i Ayaloni+ n’i Shayalubimu+. Mugabo ukuboko kw’inzu ya Yozefu kurakomera rwose ku buryo bahatirwa gukora igikorwa kiruhisha+. 36 Akarere k’Abamori kahera ku mudugo wa Akurabimu+, kuva i Sela kuduga.

2 Maze umumarayika wa Yehova+ aduga i Bokimu+ avuye i Gilugali+, avuga ati: “Narabaduganye ndabakuye mu Misiri, ndabazana mu gihugu narahiye ba sokuruza banyu+. Vyongeye, navuze nti: ‘Sinzokwigera ndenga kw’isezerano nagiranye namwe+. 2 Namwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+. Ibicaniro* vyabo muze mubisiturire hasi+.’ Mugabo ntimwumvirije ijwi ryanje+. Kubera iki mwakoze ivyo+? 3 Nanje rero navuze nti: ‘Sinzobirukana imbere yanyu; bazobabera koko imitego+, imana zabo na zo zibabere ikibakwegakwega+.’”

4 Umumarayika wa Yehova akimara kubwira ayo majambo bene Isirayeli bose, abantu batangura gushira amajwi yabo hejuru, bararira+. 5 Ku bw’ivyo aho hantu bahita Bokimu*. Maze batangura kuhashikanira ibimazi Yehova.

6 Igihe Yosuwa yarungika abantu, bene Isirayeli baciye bagenda, umwe wese ku ntoranwa yiwe, kugira ngo bigarurire igihugu+. 7 Nuko abantu babandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa kandi bari barabonye igikorwa gikomeye ca Yehova cose, ico yakoreye Isirayeli+. 8 Maze Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, arapfa, afise imyaka ijana na cumi+. 9 Bamuhamba rero mu karere k’intoranwa yiwe i Timunati-heresi+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi+. 10 Iryo yaruka ryose na ryo rihamvya ba se+, maze inyuma yabo hahaguruka irindi yaruka ritari rizi Yehova canke igikorwa yari yarakoreye Isirayeli+.

11 Nuko bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+ no gukorera za Bayali+. 12 Gutyo baheba Yehova Imana ya ba se yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikira izindi mana mu mana z’ibisata vy’abantu vyari irya n’ino yabo+, batangura kuzunamira, ku buryo bababaza Yehova+. 13 Gutyo baheba Yehova, batangura gukorera Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti+. 14 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, bituma abatanga mu maboko y’abasahuzi, batangura kubasahura+; kandi atangura kubagurisha mu kuboko kw’abansi babo bari irya n’ino yabo+, ntibaba bagishobora guhagarara imbere y’abansi babo+. 15 Aho baja hose, ukuboko kwa Yehova kwarabarwanya kukabateza ivyago+, nk’uko Yehova yari yaravuze kandi nk’uko Yehova yari yarabarahiye+; nuko bagera habi rwose+. 16 Yehova yarahagurutsa rero abacamanza+, bano bakabakiza mu kuboko kw’ababasahura+.

17 Banka kwumviriza n’abacamanza babo nyene, mugabo bashurashurana+ n’izindi mana+ bongera barazunamira. Ntibateba gukevya bava mu nzira ba sekuruza babo bari baragendeyemwo mu kugamburuka amabwirizwa ya Yehova+. Ntibakora nk’ukwo. 18 Kandi Yehova abahagurukirije abacamanza+, Yehova yabana n’uwo mucamanza, akabakiza mu kuboko kw’abansi babo mu misi yose y’uwo mucamanza; kuko Yehova yicuza+ kubera ukuniha kwabo gutewe n’ababahahaza+ be n’ababaturubika.

19 Nya mucamanza apfuye, baca bahindukira bakikwegera guhona kuruta ba se mu gukurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+. Ntibareka ingeso zabo n’inyifato yabo y’akagagazo+. 20 Amaherezo ishavu rya Yehova rirurumbira+ Isirayeli maze avuga ati: “Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano ryanje+ nategetse ba sekuruza babo kandi ntiryumvirize ijwi ryanje+, 21 nanje sinzokwongera kwirukana imbere yabo ihanga na rimwe mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+, 22 kugira ngo ndayagezeshe+ Isirayeli, ndabe nimba bazogumya canke batazogumya inzira ya Yehova mu kuyigenderamwo nk’uko ba se bayigumije.” 23 Yehova rero yararetse ayo mahanga, ntiyayirukana ningoga+, ntiyayatanga mu kuboko kwa Yosuwa.

3 Aya rero ni yo mahanga+ Yehova yaretse akagumaho kugira ngo ayagezeshe+ Isirayeli, ni ukuvuga abo bose batari barabonye intambara n’imwe mu ntambara z’i Kanani+; 2 kwari ukugira gusa ngo amayaruka ya bene Isirayeli amenyere, kugira ngo yigishwe intambara, ni ukuvuga abatari barabonye mwene ivyo bintu imbere y’aho bonyene. 3 Ayo mahanga ni yo y’aya: Ba batware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya+, n’Abanyakanani+ bose, mbere n’Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-herumoni+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+. 4 Aguma ari ibikoresho vyo kugezesha+ Isirayeli kugira ngo hamenyekane nimba bogamburutse amabwirizwa ya Yehova, ayo yari yarategetse ba se biciye kuri Musa+. 5 Nuko bene Isirayeli baba mu Banyakanani+, mu Baheti, mu Bamori, mu Baperizi, mu Bahiwi no mu Bayebusi+. 6 Batangura rero kwiyabirira abakobwa babo+, abakobwa babo bwite na bo babaha abahungu babo+, kandi batangura gukorera imana zabo+.

7 Bene Isirayeli rero bakora ivyari bibi mu maso ya Yehova, bibagira Yehova Imana yabo+ maze batangura gukorera za Bayali+ n’ibikingi vyeranda+. 8 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kwa Kushani-rishatayimu umwami wa Mezopotamiya+; bene Isirayeli babandanya gukorera Kushani-rishatayimu imyaka umunani. 9 Bene Isirayeli rero batangura gutabaza Yehova+. Maze Yehova ahagurukiriza umukiza+ bene Isirayeli kugira ngo abakize, ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+. 10 Impwemu+ ya Yehova rero iza kuri we, aba umucamanza wa Isirayeli. Asohotse mu rugamba, Yehova atanga rero Kushani-rishatayimu umwami wa Siriya mu kuboko kwiwe, ku buryo ukuboko kwiwe gutsinda+ Kushani-rishatayimu. 11 Inyuma y’ivyo, igihugu kimara imyaka mirongo ine ata kigihungabanya. Amaherezo Otiniyeli mwene Kenazi arapfa.

12 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Yehova aca arareka Eguloni umwami wa Mowabu+ arakomera kuruta Isirayeli+, kubera yuko bakoze ivyari bibi mu maso ya Yehova+. 13 Vyongeye, akoranya bene Amoni+ na Amaleki+ ngo babarwanye. Maze baragenda, bakubita Isirayeli hanyuma bigarurira igisagara c’ibigazi+. 14 Bene Isirayeli babandanya gukorera Eguloni umwami wa Mowabu imyaka cumi n’umunani+. 15 Nuko bene Isirayeli batangura gutabaza Yehova+. Yehova rero abahagurukiriza umukiza, ari we Ehudi+ mwene Gera, Umubenyamini+, umugabo akoresha ibamfu+. Mu nyuma, bene Isirayeli barungikira ikibuguro Eguloni umwami wa Mowabu, bakirungikana uwo Ehudi. 16 Ico gihe Ehudi yicurira inkota; yari ifise ubugi bubiri+, uburebure bwayo bukaba bwari itambwe* rimwe. Maze ayikenyerera munsi y’impuzu yiwe, kw’itako+ ry’iburyo. 17 Nuko atangura gushikiriza nya kibuguro Eguloni umwami wa Mowabu+. Uwo Eguloni yari umugabo avyibushe cane.

18 Arangije gushikiriza nya kibuguro+, aca arungika abantu bari bazanye ico kibuguro. 19 Mugabo ubwiwe, ashitse ku macukuriro yari i Gilugali+, asubira inyuma maze avuga ati: “Ndagufitiye ijambo ry’akabanga, mwami.” Na we avuga ati: “Nimucereze!” Abari bahagaze iruhande yiwe bose baca barasohoka bava aho ari+. 20 Ehudi aza kuri we igihe yari yicaye mu cumba ciwe co hejuru gipfutse yari yiharije. Ehudi rero abandanya kuvuga ati: “Ndagufitiye ijambo ry’Imana.” Aca arahaguruka ava ku ntebe yiwe y’ubwami. 21 Maze Ehudi atuma ukuboko kwiwe kw’ukubamfu, akura ya nkota kw’itako ryiwe ry’iburyo, ayimwinjiza mu nda. 22 N’ikirindi kiguma cinjira gikurikira icuma c’inkota ku buryo ibinure bipfuka nya cuma, kuko atasokoye nya nkota mu nda yiwe; maze umwanda mukuru utangura gusohoka. 23 Ehudi arasohoka aciye mu mwenge w’akayaga, mugabo asiga yugaye imiryango y’icumba co hejuru, arayidadira. 24 Hanyuma we arasohoka+.

Nuko abasuku biwe baraza maze bararaba, basanga imiryango y’icumba co hejuru idadiye. Bavuga rero bati: “Ariko aritabara+ mu cumba gipfutse.” 25 Baguma barindiriye gushika aho bibatera isoni, maze ntihaboneka uwugurura imiryango y’icumba co hejuru. Baca bafata urupfunguruzo barayugurura, basanga umukama wabo arambaraye hasi yapfuye!

26 Ehudi we, yari yahunze mu gihe bari bagitebaganye, aca iruhande ya ya macukuriro+ maze ahungira i Seyira. 27 Ashitseyo, atangura kuvuza inzamba+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+; hanyuma bene Isirayeli batangura kumanukana na we bavuye muri nya karere k’imisozi, akaba yari abayoboye. 28 Maze ababwira ati: “Nimunkurikire+, kuko Yehova atanze abansi banyu, Abanyamowabu, mu kuboko kwanyu+.” Nuko baramukurikira hanyuma bafata ivyambu+ vya Yorodani kugira bazibire Abanyamowabu, ntibareka ngo hagire uwurengana. 29 Ico gihe batangura kwica Mowabu, bica nk’abagabo ibihumbi cumi+, bose bakaba bari ab’inguvu+ bakaba n’abagabo b’intwari; ntiharokoka n’umwe+. 30 Nuko kuri uwo musi Mowabu imarwa igabo munsi y’ukuboko kwa Isirayeli; igihugu kimara imyaka mirongo umunani kitongeye guhungabana+.

31 Inyuma ya Ehudi haza Shamugari+ mwene Anati; yica Abafilisitiya+, abagabo amajana atandatu, akoresheje umuhunda w’inka; na we nyene akiza Isirayeli+.

4 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova Ehudi amaze gupfa+. 2 Nuko Yehova abagurisha+ mu kuboko kwa Yabini umwami wa Kanani yaganza i Hazori+; kandi umukuru w’ingabo ziwe yari Sisera+, uno akaba yaba i Harosheti+ h’amahanga. 3 Bene Isirayeli batangura rero kuririra Yehova+, kuko Yabini yari afise imikogote y’intambara amajana icenda ifise ibikeruzo vy’icuma+, kandi ubwiwe akaba yari amaze imyaka mirongo ibiri ahahaza bene Isirayeli+ bimwe bibi.

4 Kandi Debora, umuhanuzikazi+, umugore wa Lapidoti, ni we yacira imanza Isirayeli ico gihe nyene. 5 Yaba munsi y’ikigazi ca Debora hagati ya Rama+ na Beteli+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu; kandi bene Isirayeli baraduga iwe ngo abacire imanza. 6 Atumako rero Baraki+ mwene Abinowamu i Kedeshi-nafutali+, amubwira ati: “Yehova Imana ya Isirayeli ategetse ati: ‘Genda ushware umusozi Tabori+, kandi ujane n’abagabo ibihumbi cumi bo muri bene Nafutali+ no muri bene Zebuloni+. 7 Nanje ata gukeka, Sisera+ umukuru w’ingabo za Yabini+ n’imikogote yiwe y’intambara be n’isinzi ryiwe nzomukwegakwegera kuri wewe+, mu mwonga Kishoni+, kandi nzomutanga koko mu kuboko kwawe+.’”

8 Nuko Baraki amubwira ati: “Niwajana nanje, nanje sinzobura kugenda; mugabo nutajana nanje, sinzogenda.” 9 Na we avuga ati: “Sinzobura kujana nawe. Ariko ubwiza ntibuzoba ubwawe ku nzira ujanye, kuko mu minwe y’umugore+ ari ho Yehova azogurisha Sisera.” Debora aca arahaguruka, ajana na Baraki i Kedeshi+. 10 Baraki atangura gukoraniriza Zebuloni+ na Nafutali i Kedeshi; nuko abagabo ibihumbi cumi baduga bakurikiye intambuko ziwe+; Debora na we adugana na we.

11 Kandi Heberi+ Umukeni yari yaratandukanye n’Abakeni+, bene Hobabu, uwo Musa yari yarabereye umukwe+, akaba yari yashinze ihema ryiwe iruhande y’igiti kinini i Zayananimu, ahari i Kedeshi.

12 Maze Sisera amenyeshwa yuko Baraki mwene Abinowamu+ yari yaduze ku musozi Tabori+. 13 Sisera aca akoranya imikogote y’intambara yiwe yose, ya mikogote y’intambara amajana icenda ifise ibikeruzo vy’icuma+, n’abantu bose bari kumwe na we, bava i Harosheti h’amahanga baja ku mwonga Kishoni+. 14 Nuko Debora abwira Baraki ati: “Haguruka, kuko uyu ari wo musi Yehova aza gutanga ata gukeka Sisera mu kuboko kwawe. None Yehova si we akugiye imbere+?” Nuko Baraki atangura kumanuka avuye ku musozi Tabori, inyuma yiwe hari abagabo ibihumbi cumi. 15 Yehova atangura guta mu muvurungano+ Sisera n’imikogote y’intambara yiwe yose n’ikambi yose, abicisha ubugi bw’inkota imbere ya Baraki. Amaherezo Sisera yururuka umukogote, ahunga n’amaguru. 16 Nuko Baraki yoma inyuma+ nya mikogote y’intambara+ na nya kambi gushika i Harosheti h’amahanga, ku buryo ikambi ya Sisera yose igwishwa n’ubugi bw’inkota. Ntihasigara n’umwe+.

17 Nayo Sisera+, ahungira n’amaguru kw’ihema rya Yayeli+ umugore wa Heberi Umukeni+, kuko hari amahoro hagati ya Yabini umwami wa Hazori+ n’urugo rwa Heberi Umukeni. 18 Maze Yayeli asohoka gusanganira Sisera, amubwira ati: “Kebereza ng’aha, mukama wanje, kebereza ng’aha iwanje. Ntutinye.” Akebereza iwe mw’ihema. Mu nyuma amupfuka uburengeti. 19 Haciye umwanya Sisera amubwira ati: “Ndakwinginze umpe utuzi two kunywa, kuko nyotewe.” Nuko yugurura umukuza w’urushato+ w’amata, amuha utwo anywa+, araheza aramupfuka. 20 Sisera yongera kumubwira ati: “Hagarara ku bwinjiriro bw’ihema, maze nihagira uwuza akakubaza ati: ‘Hari umugabo ari ng’aha?’, uce uvuga uti: ‘Oya!’”

21 Yayeli umugore wa Heberi rero atora urumambo rwa nya hema, hanyuma afata inyundo mu kuboko kwiwe. Maze aja iyo ari yomboka, amushinga nya rumambo mu misaya+, araruhonda rwinjira mw’isi, mu gihe yari asinziriye ubutikoma, yarushe. Nuko arapfa+.

22 Maze ehe, Baraki yari akurikiye Sisera. Nuko Yayeli asohoka kumusanganira, amubwira ati: “Ingo ndakwereke umugabo uriko urarondera.” Yinjira rero iwe, maze asanga Sisera yari arambaraye yapfuye, rwa rumambo ruri mu misaya yiwe.

23 Gutyo kuri uwo musi Imana imara igabo+ Yabini umwami wa Kanani imbere ya bene Isirayeli. 24 Maze ukuboko kwa bene Isirayeli kugenda kurushiriza gukomera ku bwo kurwanya Yabini umwami wa Kanani+, gushika baranduye Yabini umwami+ wa Kanani.

5 Kuri uwo musi, Debora+ na Baraki+ mwene Abinowamu+ batangura kuririmba+ bati:

 2 “Kubera ko muri Isirayeli bareka umushatsi ukarekera ku bw’intambara,

Kubera ko abantu bitanga babikunze+,

Nimuhezagire Yehova+.

 3 Umvirize, yemwe bami+; tege ugutwi yemwe bategetsi bakurubakuru:

Emwe, jewe ngira ndirimbire Yehova.

Mpibongoreze+ Yehova, Imana ya Isirayeli+.

 4 Yehova, igihe wava i Seyiri+,

Igihe wagenda uvuye mu karere ka Edomu+,

Isi yātigise+, amajuru na yo aratonyanga+,

Ibicu na vyo nyene bitonyanga amazi.

 5 Imisozi yātemvye nk’amazi ivuye imbere ya Yehova+,

Uyu Sinayi+, uvuye imbere ya Yehova+, Imana ya Isirayeli+.

 6 Mu misi ya Shamugari+ mwene Anati,

Mu misi ya Yayeli+, iminyuro nta wayicamwo,

Abafata ingendo mu mabarabara bajana inzira zizigura+.

 7 Ababa mu gihugu hagati bari barakamanganye, bari barakamanganye muri Isirayeli+,

Gushika jewe Debora+ mpagurutse,

Gushika mpagurutse nka inabibondo muri Isirayeli+.

 8 Batanguye kwitorera imana nshasha+.

Ni ho rero haba intambara mu marembo+.

Nta nkinzo yaboneka, canke icumu,

Mu bihumbi mirongo ine muri Isirayeli+.

 9 Umutima wanje uri ku bakomanda ba Isirayeli+,

Bo bitanze babikunze mu bantu+.

Nimuhezagire Yehova+.

10 Yemwe abagendera ku ndogobwa z’ingore+ z’ibara ry’akagajo,

Yemwe abicara ku bisaswa* vyizavyiza,

Namwe abagendera mu nzira,

Zirikane+!

11 Amwamwe mu majwi y’abagabanganya amazi yumvikanye mu bibanza vyo kuvomamwo amazi+,

Batangura kwiganira ng’aho ibikorwa vy’ubugororotsi vya Yehova+,

Ibikorwa vy’ubugororotsi vy’abantu biwe baba mu gihugu hagati muri Isirayeli.

Ni ho rero abantu ba Yehova bāmanuka ku marembo.

12 Ikangure, ikangure, Debora+ we;

Ikangure, ikangure, uririmbe ururirimbo+!

Haguruka Baraki+, ujane imbohe zawe, ewe mwene Abinowamu+!

13 Ni ho rero abarokotse bamanuka bakaja ku bakomakomeye;

Abantu ba Yehova bamanutse aho ndi kugira barwanye abanyenkomezi.

14 Muri Efurayimu ni ho bamuka, abari mu kiyaya co hasi+,

Bari kumwe nawe, ewe Benyamini, mu bisata vyawe vy’abantu.

Muri Makiri+ ni ho abakomanda bamanutse bava,

Muri Zebuloni na ho, abakoresha ibikoresho vy’umwanditsi+.

15 Abaganwa bo muri Isakari+ bari kumwe na Debora,

Kandi uko Isakari yari, ni ko na Baraki+ yari.

Yarungitswe mu kiyaya co hasi ari ku maguru+.

Mu migabane ya Rubeni habaye ugusuzuma umutima gukomeye+.

16 Kubera iki wicaye hagati y’ayo masaho abiri yo kw’itandiko,

Kugira wumvirize amajwi y’imyironge avugirizwa imikuku+?

Ku migabane ya Rubeni habaye ugusuzuma umutima gukomeye+.

17 Gileyadi yigumiye iwe hakurya ya Yorodani+;

Dani na we, kubera iki muri ico gihe yagumye yibera mu meri+?

Asheri yagumye yicaye ku nkengera y’ikiyaga ata co akora;

Yagumye yibera iruhande y’ahantu hiwe imeri zishikira+.

18 Zebuloni ni igisata c’abantu bakengereye ubuzima bwabo n’imbere y’urupfu+,

Na Nafutali+, ku bibanza bikirurutse vy’agahinga+.

19 Abami baje, bararwana;

Ni ho abami ba Kanani barwanira+

I Tayanaki+, iruhande y’amazi y’i Megido+.

Nta nyungu y’ifeza batwaye+.

20 Inyenyeri zarwanye ziri mw’ijuru+,

Zirwanya Sisera ziri ku nzira zizungurukirako.

21 Uruzi rw’isumo Kishoni rwabatwaye+,

Rwa ruzi rw’isumo rwo mu misi ya kera, rwa ruzi rw’isumo Kishoni+.

Wahonyangiye inkomezi hasi+, ewe mutima wanje!

22 Ni ho ibinono vy’amafarasi vyadidagura hasi+

Kubera ukwirasa kw’amafarasi yiwe y’ingabo.

23 ‘Nimuvume+ Merozi,’ ni ko umumarayika wa Yehova+ avuze,

‘Nimuvume abahaba mudahengeshanya,

Kuko bataje gufasha Yehova,

Gufasha Yehova, bari kumwe n’abanyenkomezi.’

24 Yayeli+ umugore wa Heberi Umukeni+ azohezagirwa rwose mu bagore,

Azohezagirwa rwose mu bagore baba mw’ihema+.

25 Yasavye amazi, amuha amata;

Amuhera amata avuze+ mw’ibakure y’inzimano nini y’abakomakomeye.

26 Maze atuma ukuboko ku rumambo rw’ihema,

Atuma ukuboko kwiwe kw’ukuryo ku mangu y’abakozi bakora cane+.

Ahondesha inyundo Sisera, amutobekeranya umutwe+,

Amena imisaya yiwe, arayisatura.

27 Hagati y’ibirenge vyiwe ni ho yatembagariye, ni ho yaguye, ni ho yarambaraye;

Hagati y’ibirenge vyiwe ni ho yatembagariye, ni ho yaguye;

Aho yatembagariye ni ho yaguye atsinzwe+.

28 Umugore yaraba acishije mw’idirisha, aguma amureretse,

Nyina wa Sisera yaraba acishije mu kayungiro+, ati:

‘Kubera iki umukogote w’intambara wiwe utevye kuza+?

Kubera iki imirindi y’imikogote yiwe icerewe gutyo+?’

29 Inkerebutsi zo mu bagore b’abanyacubahiro+ biwe zikamwishura,

Egome, na we akishura yibwira amajambo yiwe bwite, ngo:

30 ‘Ntibabwirizwa none kuronka, ntibabwirizwa none kugabangana isahu+,

Igitereko kimwe—ibitereko* bibiri ku muntu w’umugabo+ wese,

Isahu ry’impuzu zisizwe ibara za Sisera, isahu ry’impuzu zisizwe ibara,

Impuzu ideshe, impuzu isizwe ibara, impuzu zideshe zibiri

Ku bw’amazosi y’abagabo batwaye isahu?’

31 Abansi bawe bose nibayogere gutyo+, ewe Yehova,

Abagukunda+ na bo babe nk’igihe izuba riseruka mu bushobozi bwaryo+.”

Nuko igihugu kimara imyaka mirongo ine kitongeye guhungabana+.

6 Maze bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Yehova rero abatanga mu kuboko kwa Midiyani+ imyaka indwi. 2 Nuko ukuboko kwa Midiyani kunesha Isirayeli+. Kubera Midiyani, bene Isirayeli bigirira ububiko bwo mu kuzimu bwari mu misozi, n’amasenga be n’ibibanza bigoye gushikamwo+. 3 Ibi ni vyo vyaba: Iyo Isirayeli ibivye imbuto+, Midiyani na Amaleki+ n’Abanyabuseruko+ baca baduga kubatera. 4 Barakambika kugira ngo babatere, bakayogeza umwimbu w’isi gushika i Gaza; nta bifungurwa canke intama canke ishūri canke indogobwa basigaza muri Isirayeli+. 5 Kuko baduga, bo n’ibitungwa vyabo, kumwe n’amahema yabo. Baza ari benshi nk’inzige+, kandi bo n’ingamiya zabo ntibagira igitigiri+; baraza mu gihugu kugira bakiyogeze+. 6 Isirayeli isigara yifumbereje bimwe bibi kubera Midiyani; maze bene Isirayeli batangura gutabaza Yehova+.

7 Nuko kubera ko bene Isirayeli batabaje Yehova kubera Midiyani+, 8 Yehova arungika kuri bene Isirayeli umugabo umwe, umuhanuzi+, ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ni jewe nabaduganye ndabakuye mu Misiri+, gutyo ndabakura mu nzu y’abaja+. 9 Narabarokoye rero mu kuboko kwa Misiri no mu kuboko kw’ababahahaza bose, ndabirukana imbere yanyu ndaheza mbaha igihugu cabo+. 10 Vyongeye, nababwiye nti: “Ndi Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mutinye imana z’Abamori+ bene igihugu mubayemwo+.” Mugabo ntimwumvirije ijwi ryanje+.’”

11 Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini cari i Ofura, icegukira Yowasi Umwabiyezeri+, mu gihe Gideyoni+ umuhungu wiwe yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira azikureho ningoga Midiyani ntizibone. 12 Maze umumarayika wa Yehova aramubonekera, amubwira ati: “Yehova ari kumwe nawe+, yewe ntwari, munyenkomezi.” 13 Gideyoni aca amubwira ati: “Ntunga mukama wanje, mugabo nimba Yehova ari kumwe natwe, kubera iki none ibi vyose vyadushikiye+, kandi biri hehe vya bikorwa vy’agatangaza+ vyiwe vyose ba data batwiganiye+, bati: ‘None mu Misiri si ho Yehova yatuduganye adukuye+?’ None ubu Yehova yaradutaye+, adutanga mu kiganza ca Midiyani.” 14 Yehova aca amuraba mu maso, avuga ati: “Jana izo nkomezi ufise+, kandi uzokiza ata gukeka Isirayeli uyikure mu kiganza ca Midiyani+. None singutumye+?” 15 Na we amubwira ati: “Ntunga Yehova. Nzokirisha Isirayeli iki+? Ehe umuryango wanje* ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe+.” 16 Mugabo Yehova amubwira ati: “Ni uko nzobana nawe+, kandi ntuzobura kwica Midiyani+ nk’aho yoba ari umuntu umwe.”

17 Na we amubwira ati: “Nimba rero nagize ubutoni mu maso yawe+, ukwiye rero kunkorera ikimenyetso cerekana ko ari wewe uriko uvugana nanje+. 18 Ndakwinginze ntuve ng’aha gushika nje aho uri+ nzanye ingabirano yanje nkayishira imbere yawe+.” Na we avuga ati: “Ndaguma nicaye ng’aha gushika ugarutse.” 19 Gideyoni arinjira maze atangura gutegura akagazi k’impene+, na efa* imwe y’ifu ayikoramwo udutsima tutarimwo umwambiro+. Inyama azishira mu gisimbo, umufa na wo awushira mu nkono, hanyuma arabisohokana, abimuzanira munsi ya ca giti kinini maze arabimushikiriza.

20 Wa mumarayika w’Imana y’ukuri amubwira ati: “Fata izo nyama n’utwo dutsima tutarimwo umwambiro ubishire kuri kirya gitandara+ hanyuma usukeko uwo mufa.” Agira kuno. 21 Maze nya mumarayika wa Yehova atuma isonga ry’inkoni yari mu kuboko kwiwe, akora kuri za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro, umuriro uca utangura kuduga uvuye muri nya gitandara, uyigiza za nyama na twa dutsima tutarimwo umwambiro+. Nya mumarayika wa Yehova aca arakamangana ntiyasubira kumubona. 22 Gideyoni atahura rero ko yari umumarayika wa Yehova+.

Gideyoni aca avuga ati: “Ndagowe, Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wa Yehova amaso mu yandi+!” 23 Mugabo Yehova amubwira ati: “Gira amahoro+. Ntutinye+. Ntupfa+.” 24 Gideyoni ahubakira rero igicaniro+ Yehova, kikaba kicitwa+ Yehova-shalomu* gushika n’uyu musi. Kiracari i Ofura+ h’Ababiyezeri.

25 Nuko muri iryo joro Yehova yongera kumubwira ati: “Tora ca kimasa, ca kimasa ca so, ni ukuvuga ca kimasa kigira kabiri c’imyaka indwi, usambure ca gicaniro ca Bayali+ ca so, na ca gikingi ceranda kiri iruhande yaco ucicire+. 26 Wubakire igicaniro Yehova Imana yawe ku mutwe w’iki gihome gikomeye, n’umurongo w’amabuye, maze ufate nya kimasa kigira kabiri ugishikane bwa shikanwa riturirwa, ku nkwi za nya gikingi ceranda uzoba wiciye.” 27 Gideyoni afata rero abagabo cumi mu basuku biwe maze akora nk’uko Yehova yari yamubwiye+; mugabo kubera ko yatinya cane urugo rwa se n’abagabo bo mu gisagara ku buryo atari kubikora ku murango, abikora mw’ijoro+.

28 Abagabo bo mu gisagara bavyutse kare mu gitondo nk’uko bisanzwe, basanga igicaniro ca Bayali cari casituriwe hasi, na ca gikingi ceranda+ cari iruhande yaco ciciwe, ca kimasa kigira kabiri na co cashikanywe ku gicaniro cari cubatswe. 29 Batangura rero kubazanya bati: “Ni nde yakoze iki kintu?” Nuko barabaza bongera bararondera. Amaherezo bavuga bati: “Gideyoni mwene Yowasi ni we yakoze iki kintu.” 30 Nya bagabo bo mu gisagara rero babwira Yowasi bati: “Sohora umuhungu wawe apfe+, kuko yasituriye hasi ca gicaniro ca Bayali, akongera akicira ca gikingi ceranda cari iruhande yaco.” 31 Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.” 32 Nuko kuri uwo musi yita Gideyoni Yerubayali*+, avuga ati: “Bayali niyiburanire, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo+.”

33 Maze Midiyani+ yose na Amaleki+ n’Abanyabuseruko+ bakoranira hamwe nk’umuntu umwe+, barajabuka hanyuma bakambika mu kiyaya co hasi ca Yezireyeli+. 34 Impwemu ya Yehova+ itwikira Gideyoni ku buryo atangura kuvuza inzamba+, Ababiyezeri+ barakoranywa ngo bamukurikire. 35 Arungika intumwa+ kwa Manase hose, na bo nyene barakoranywa ngo bamukurikire. Arungika kandi intumwa kwa Asheri no kwa Zebuloni no kwa Nafutali, na bo baduga kumusanganira.

36 Maze Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: “Nimba ugira ukize Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wasezeranye+, 37 ehe nshize ubwoya ku mbuga y’ikubitiro. Ikime nicaba kuri ubwo bwoya gusa mugabo hasi hose hakaba humye, nca menya koko yuko uzokiza Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wasezeranye.” 38 Biba gutyo nyene. Avyutse kare ku musi ukurikira maze agakanya nya bwoya, abukuramwo ikime gihagije cokwuzuza amazi ibakure nini y’inzimano. 39 Ariko Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: “Ishavu ryawe ntirindurumbire, mugabo nkundira mvuge rindi rimwe gusa. Ndakwinginze ngezeshe ubu bwoya rindi rimwe gusa. Ndakwinginze ubwoya bwonyene bwume, mugabo hasi hose habe ikime.” 40 Nuko Imana igira gutyo iryo joro; ubwoya bwonyene buba ari bwo bwuma, mugabo hasi hose haboneka ikime.

7 Maze Yerubayali+, ari we Gideyoni+, n’abantu bose bari kumwe na we, bahaguruka kare hanyuma bakambika kw’iriba rya Harodi; ikambi ya Midiyani yari mu buraruko bwiwe, hafi y’umurambi wa More, mu kiyaya co hasi. 2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu bari kumwe nawe ni benshi cane ku buryo ntotanga Midiyani mu kuboko kwabo+. Hari aho Isirayeli yonyiyemerako+ iti: ‘Ukuboko kwanje ni kwo kwankijije+.’ 3 Ubu rero ndakwinginze usemerere abantu bumva uti: ‘Ni nde atinya kandi ajugumira? Niyisubirire inyuma+.’” Gutyo Gideyoni arabagerageza. Ibihumbi mirongo ibiri na bibiri muri nya bantu baca basubira inyuma, hasigara ibihumbi cumi.

4 Mugabo Yehova abwira Gideyoni ati: “Abantu baracari benshi birenze+. Bamanukane ku mazi kugira ndabakugeragereze. Uwo ndakubwira nti: ‘Uyu arajana nawe,’ ni we ajana nawe, mugabo uwo wese ndakubwira nti: ‘Uyu ntajana nawe,’ ni we atagenda.” 5 Amanukana rero abantu ku mazi+.

Maze Yehova abwira Gideyoni ati: “Uwo wese aza kunywesha amazi ururimi nk’imbwa, umushire ukwiwe, n’uwo wese aza gupfukama kugira anywe+.” 6 Igitigiri c’abanywereye amazi ku rushi barudugije ku munwa kiba abagabo amajana atatu. Mugabo abasigaye bose muri nya bantu, barapfukamye kugira banywe amazi.

7 Yehova abwira rero Gideyoni ati: “Abo bagabo amajana atatu banywereye amazi ku rushi ni bo ndabakirisha, kandi ndatanga Midiyani mu kuboko kwawe+. Nayo abandi bose, nibigire umwe wese ahantu hiwe.” 8 Nuko batora impamba za nya bantu mu kuboko kwabo, n’inzamba+ zabo, maze Gideyoni arungika abo bagabo ba Isirayeli bose, umwe wese aja i muhira iwe; agumya gusa abo bagabo amajana atatu. Nayo ikambi ya Midiyani, yari hepfo yiwe mu kiyaya co hasi+.

9 Maze muri iryo joro+ Yehova amubwira ati: “Haguruka, umanuke gutera irya kambi, kuko ndayitanze mu kuboko kwawe+. 10 Mugabo nimba utinya kumanuka, manukana na Pura umusuku wawe kuri iryo kambi+. 11 Wumvirize ivyo baza kuvuga+, maze amaboko yawe arakomera+ ata gukeka, nawe uramanuka koko gutera nya kambi.” Nuko we na Pura umusuku wiwe baramanuka ku mubari w’abari batonze urugamba bari muri nya kambi.

12 Midiyani na Amaleki n’Abanyabuseruko+ bose bari barundaniye mu kiyaya co hasi ari benshi nk’inzige+; kandi ingamiya zabo+ ntizagira igitigiri, ari nyinshi nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga. 13 Nuko Gideyoni arashika, asanga hari umugabo yariko yiganira mugenziwe indoto, avuga ati: “Ng’iyi indoto narose+. Ehe, agatsima k’umuzingi k’umukate wa sayiri* kariko kazunguruka kisubiriza mw’ikambi ya Midiyani. Nuko kaza kw’ihema kararikubita riratemba+, kararyubika, maze nya hema rirambarara hasi.” 14 Uwo mugenziwe aca yishura+ ati: “Ico si ikindi ni inkota ya Gideyoni+ mwene Yowasi, umugabo wo muri Isirayeli. Imana y’ukuri+ itanze Midiyani n’ikambi yose mu kuboko kwiwe+.”

15 Gideyoni akimara kwumva inkuru y’iyo ndoto n’insobanuro yayo+, aca atangura gusenga+. Inyuma y’ivyo asubira kw’ikambi ya Isirayeli, avuga ati: “Haguruke+, kuko Yehova atanze ikambi ya Midiyani mu kuboko kwanyu.” 16 Aca agabura ba bagabo amajana atatu mu migwi itatu maze ashira inzamba+ mu maboko yabo bose n’imibindi mininiminini igaragara, ashira n’ibimuri muri nya mibindi mininiminini. 17 Ababwira kandi ati: “Muze kwitegereza uko ngira, abe ari ko mugira. Ninashika ku mubari w’ikambi, uko nza kugira abe ari ko mugira. 18 Ninamara kuvuza inzamba, jewe n’abari kumwe nanje bose, namwe rero muce muvuza inzamba irya n’ino y’ikambi yose+, muheze muvuge muti: ‘Iya Yehova+ n’iya Gideyoni!’”

19 Mu nyuma, Gideyoni, ari kumwe na ba bagabo ijana bari kumwe na we, ashika ku mubari w’ikambi iterama ryo mu gicugu+ ritanguye. Ni ho bari bagiheza kugombora abanyezamu. Baca bavuza inzamba+, bongera basavya ya mibindi mininiminini y’amazi yari mu maboko yabo+. 20 Ya migwi itatu ica ivuza inzamba+ yongera isavya ya mibindi mininiminini, bafata vya bimuri mu kuboko kwabo kw’ibubamfu, ukuboko kw’iburyo na kwo gufata inzamba kugira bazivuze, maze batangura gusemerera bati: “Inkota ya Yehova+ n’iya Gideyoni!” 21 Muri ico gihe, baguma bahagaze umwe wese mu kibanza ciwe irya n’ino y’ikambi; nya kambi yose itangura kwiruka no kwiha akaruru no guhunga+. 22 Bamwe amajana atatu+ babandanya kuvuza inzamba+, maze Yehova arabisha inkota y’umwe wese kuri mugenziwe barazibagurana mw’ikambi yose+; nya kambi ibandanya guhunga gushika i Beti-shita, yerekeza i Zerera, gushika ku mubari wa Abeli-mehola+ iruhande ya Tabati.

23 Muri ico gihe, abagabo ba Isirayeli barakorana bavuye muri Nafutali+ no muri Asheri+ no muri Manase+ hose, maze boma+ inyuma Midiyani. 24 Gideyoni atuma intumwa mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ kose kuvuga ziti: “Manuke guhura na Midiyani, mubatange gufata amazi gushika i Beti-bara, mufate na Yorodani.” Nuko abagabo bose ba Efurayimu barakorana, maze bafata amazi+ gushika i Beti-bara, bafata na Yorodani. 25 Bafata kandi abaganwa babiri ba Midiyani, ari bo Orebu na Zeyebu+; nuko bicira Orebu ku gitandara ca Orebu+, Zeyebu na we bamwicira ku gikono c’umuvinyu ca Zeyebu. Babandanya kwoma inyuma Midiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zeyebu mu karere ka Yorodani+.

8 Maze abagabo ba Efurayimu bamubwira bati: “Ivyo wadukoreye ni ibiki, ko utaduhamagaye igihe waja kurwanya Midiyani+?” Barondera kumutonganya bimwe bikaze+. 2 Amaherezo ababwira ati: “None nakoze iki ugereranije namwe+? Ivyo Efurayimu+ yatoroye* ntibiruta inzabibu zasārūwe na Abi-ezeri+? 3 Mu kuboko kwanyu ni ho Imana yatanze abaganwa ba Midiyani, ari bo Orebu na Zeyebu+; ni igiki none nakoze ugereranije namwe?” Avuze iryo jambo ishavu ryabo rica rirahwama+.

4 Amaherezo Gideyoni ashika kuri Yorodani, ararujabuka, we na ba bagabo amajana atatu bari kumwe na we, barushe mugabo bakibandanya kubakurikirana. 5 Mu nyuma abwira abagabo b’i Sukoti+ ati: “Ndabinginze muhe utumanyu tw’umukate abantu bariko bakurikira intambuko zanje+, kuko barushe nanje nkaba nomye inyuma Zeba+ na Zalumuna+, abami ba Midiyani.” 6 Mugabo abaganwa ba Sukoti bavuga bati: “Mbega ibiganza vya Zeba na Zalumuna vyamaze kuja mu kuboko kwawe muko ingabo zawe zihabwa umukate+?” 7 Gideyoni aca avuga ati: “Ni co gituma Yehova niyatanga Zeba na Zalumuna mu kuboko kwanje, ntazobura guhuraguza imibiri yanyu amahwa yo mu gahinga be n’ibihandambwa+.” 8 Ava ng’aho arabandanya, aduga i Penuweli+, ababwira nk’ukwo nyene, ariko abagabo b’i Penuweli bamwishura nk’uko abagabo b’i Sukoti bari bishuye. 9 Ku bw’ivyo abwira n’abagabo b’i Penuweli ati: “Ninagaruka amahoro, nzositurira hasi uwu munara+.”

10 Ico gihe Zeba na Zalumuna+ bari i Karukori, bari kumwe n’amakambi yabo, abantu nk’ibihumbi cumi na bitanu bakaba ari bo bonyene bari basigaye mu bari bagize ikambi yose y’Abanyabuseruko+; abari bamaze kugwa bari abagabo ibihumbi ijana na mirongo ibiri barwanisha inkota+. 11 Nuko Gideyoni abandanya kuduga aciye mu nzira y’ababa mu mahema, mu buseruko bwa Noba na Yogibeha+, maze atangura gukubita ikambi mu gihe nya kambi itari yiteguye+. 12 Zeba na Zalumuna bahunze, aca arabakurikira hanyuma afata abo bami ba Midiyani babiri, Zeba na Zalumuna+; atuma ikambi yose ijugumira.

13 Nuko Gideyoni mwene Yowasi asubira inyuma avuye mu ntambara, aciye mu kanyuro kaduga i Heresi. 14 Ari mu nzira, afata umusore umwe wo mu bagabo b’i Sukoti+ hanyuma amubaza ibibazo+. Uno amwandikira rero amazina y’abaganwa+ ba Sukoti n’abagabo b’inararibonye baho, abagabo mirongo irindwi n’indwi. 15 Aca aja ku bagabo b’i Sukoti, avuga ati: “Ng’uyu Zeba na Zalumuna bamwe mwancokorako, muvuga ngo: ‘Mbega ibiganza vya Zeba na Zalumuna vyamaze kuja mu kuboko kwawe muko abantu bawe barushe rwose bahabwa umukate+?’” 16 Afata rero nya bagabo b’inararibonye b’ico gisagara, atora n’amahwa yo mu gahinga be n’ibihandambwa, abikoresha mu gutoza indero abagabo b’i Sukoti+. 17 Wa munara wa Penuweli+ na wo awusiturira hasi+, hanyuma yica abagabo bo muri ico gisagara.

18 Nuko abwira Zeba na Zalumuna+ ati: “Abo mwiciye i Tabori+ bari abagabo bameze gute?” Na bo bati: “Uko uri, ni ko bari, umwe wese, nk’abahungu b’umwami uravye imero yabo.” 19 Aca avuga ati: “Bari bene wacu, bene mama. Ndahiye ukubaho kwa Yehova, iyo muba mwarabazigamiye ubuzima, sinari kwirirwa ndabica+.” 20 Maze abwira Yeteri imfura yiwe ati: “Haguruka ubice.” Nya musore ntiyasokora inkota yiwe, kubera ko yatinya, kuko yari akiri umusore+. 21 Zeba na Zalumuna bavuga bati: “Ba ari wewe uhaguruka utwice, kuko uko umugabo ari, ari ko n’inkomezi ziwe+ ziri.” Gideyoni aca arahaguruka, yica+ Zeba na Zalumuna hanyuma atora udusharizo tw’imero y’ukwezi twari ku mazosi y’ingamiya zabo.

22 Mu nyuma, abagabo ba Isirayeli babwira Gideyoni bati: “Nutuganze+, wewe n’umuhungu wawe be n’umwuzukuru wawe, kuko wadukijije ukadukura mu kuboko kwa Midiyani+.” 23 Mugabo Gideyoni ababwira ati: “Jewe sinzobaganza, eka n’umuhungu wanje ntazobaganza+. Yehova ni we azobaganza+.” 24 Hanyuma Gideyoni abandanya kubabwira ati: “Reka ndabasabe ikintu: Umwe wese muri mwebwe nampe impeta yo ku zuru+ yo mu minyago yiwe.” (Kuko bene gutera bari bafise impeta zo ku zuru z’inzahabu, kubera ko bari Abishimayeli+.) 25 Maze bavuga bati: “Turazitanga koko.” Baca basanza umutamana, batangura gutereramwo umwe wese impeta yo ku zuru yo mu minyago yiwe. 26 Uburemere bwa nya mpeta zo ku zuru z’inzahabu yari yasavye bugera kuri shekeli igihumbi n’amajana indwi z’inzahabu, hatarimwo twa dusharizo tw’imero y’ukwezi+ n’amahereni arekera n’impuzu z’ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura+ zari ku bami ba Midiyani kandi hatarimwo n’inigi zari ku mazosi y’ingamiya+.

27 Nuko Gideyoni abihinguramwo efodi+, ayishira ahabona mu gisagara ciwe Ofura+; maze ng’aho Isirayeli yose itangura gushurashurana na yo+, ku buryo ibera umutego Gideyoni n’urugo rwiwe+.

28 Gutyo Midiyani+ imarwa igabo imbere ya bene Isirayeli, ntibongera kuduza umutwe; kandi igihugu kimara imyaka mirongo ine kitongeye guhungabana, mu misi ya Gideyoni+.

29 Yerubayali+ mwene Yowasi aragenda, abandanya kuba mu nzu yiwe.

30 Gideyoni agira abahungu mirongo irindwi+ bavutse kuri we*, kuko yari afise abagore benshi. 31 Incoreke yiwe yari i Shekemu, na yo nyene imuvyarira umuhungu. Nuko amwita Abimeleki+. 32 Amaherezo Gideyoni mwene Yowasi apfa yisaziye neza, ahambwa mw’itongo ryo guhambamwo rya Yowasi se wiwe, i Ofura h’Ababiyezeri+.

33 Gideyoni akimara gupfa, bene Isirayeli bongera gushurashura na za Bayali+, ku buryo Bayali-beriti bayigira imana yabo+. 34 Bene Isirayeli ntibibuka Yehova Imana yabo+ yari yarabarokoye mu kuboko kw’abansi babo bose bari irya n’ino yabo+; 35 kandi ntibagirira ubuntu bwuzuye urukundo+ urugo rwa Yerubayali, ari we Gideyoni, ku bw’ineza yose yari yaragiriye Isirayeli+.

9 Mu nyuma Abimeleki+ mwene Yerubayali aja i Shekemu+ kuri basaza ba nyina maze atangura kubabwira, bo n’umuryango wose w’inzu ya se wa nyina, ati: 2 “Ndabinginze muvuge bene amatongo b’i Shekemu bose bumva, muti: ‘Mbega icobabera ciza kuruta, ni uko abagabo mirongo irindwi+, bene Yerubayali bose, bobaganza, canke ni uko umugabo umwe yobaganza? Kandi mwibuke yuko ndi igufa ryanyu n’umubiri wanyu+.’”

3 Nuko basaza ba nyina batangura kuvuga ayo majambo yose amwerekeye bene amatongo b’i Shekemu bose bumva, ku buryo umutima wabo uhengamira kuri Abimeleki+, kuko bavuze bati: “Ni mwene wacu+.” 4 Maze bamuha ibice mirongo irindwi vy’ifeza bivuye mu nzu ya Bayali-beriti+, hanyuma Abimeleki abihera abagabo batagira ico bakora kandi batisonera+, kugira bajane na we. 5 Inyuma y’ivyo aja ku nzu ya se wiwe i Ofura+ maze yica bene wabo+, bene Yerubayali, abagabo mirongo irindwi, abicira kw’ibuye rimwe, mugabo Yotamu umuhungu mutoyi wa Yerubayali arasigara, kuko yari yinyegeje.

6 Mu nyuma, bene amatongo b’i Shekemu bose n’inzu ya Milo+ yose bakoranira hamwe hanyuma baragenda, bimika Abimeleki ngo abe umwami+, bamwimikira hafi ya ca giti kinini+, ya nkingi yari i Shekemu+.

7 Babimenyesheje Yotamu, aca aragenda ahagarara kw’isonga ry’umusozi Gerizimu+, ashira ijwi hejuru arasemerera, ababwira ati: “Nimunyumvirize, yemwe bene amatongo b’i Shekemu, kandi Imana nibumvirize:

8 “Igihe kimwe ibiti vyagiye kurobanuza amavuta* umwami wo kubiganza. Nuko bibwira igiti c’umwelayo+ biti: ‘Nutubere umwami+.’ 9 Mugabo nya giti c’umwelayo kibibwira giti: ‘Mpebe ukunura kwanje baninaharisha+ Imana n’abantu, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti+?’ 10 Maze nya biti bibwira igiti c’umusukoni+ biti: ‘Nuze wewe, utubere umwamikazi.’ 11 Mugabo nya giti c’umusukoni kibibwira giti: ‘Mpebe ugusosa kwanje n’umwimbu mwiza wanje, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti+?’ 12 Hanyuma nya biti bibwira umuzabibu biti: ‘Nuze wewe, utubere umwamikazi.’ 13 Nya muzabibu na wo ubibwira uti: ‘Mpebe umuvinyu wanje mushasha unezereza Imana n’abantu+, nje kuzungazunga hejuru y’ibiti?’ 14 Amaherezo ibindi biti vyose bibwira umubambangwe+ biti: ‘Nuze wewe, utubere umwami.’ 15 Nya mubambangwe uca ubwira nya biti uti: ‘Nimba vy’ukuri mugira mundobanuze amavuta ngo ndababere umwami, nimuze muronderere ubuhungiro mu gitutu canje+. Atari ukwo na ho, umuriro+ nuve mu mubambangwe, uyigize amasederi+ y’i Libani+.’

16 “Ubu rero, nimba mwakoranye ukuri n’ukutagira amahinyu, mukimika Abimeleki ngo abe umwami+, kandi nimba mwagiriye ineza Yerubayali n’urugo rwiwe, kandi nimba mwamugiriye ivyo igikorwa c’amaboko yiwe gikwiriye, 17 kandi dawe yarabarwaniye+ agahakwa kuhasiga ubuzima+ kugira abarokore mu kuboko kwa Midiyani+, 18 namwe, mwahagurukiye urugo rwa dawe uno musi kugira mwicire kw’ibuye rimwe abahungu biwe+, abagabo mirongo irindwi+, no kugira ngo Abimeleki umuhungu w’umushumbakazi wiwe+ mumugire umwami+ wo kuganza bene amatongo b’i Shekemu kubera gusa ari mwene wanyu; 19 emwe, nimba ivyo mwakoreye uyu musi Yerubayali n’urugo rwiwe mwabikoranye ukuri n’ukutagira amahinyu, nimunezererwe Abimeleki kandi na we abanezererwe+. 20 Atari ukwo na ho, umuriro+ nuve kuri Abimeleki uyigize bene amatongo b’i Shekemu n’inzu ya Milo+, kandi umuriro+ uve kuri bene amatongo b’i Shekemu no ku nzu ya Milo uyigize Abimeleki+.”

21 Maze Yotamu+ arahunga, ariruka aja i Beyeri, araheza abayo kubera Abimeleki mwene wabo.

22 Nuko Abimeleki yigira umuganwa kuri Isirayeli imyaka itatu+. 23 Maze Imana irareka haba icuka kibi*+ hagati ya Abimeleki na bene amatongo b’i Shekemu, bano batangura rero guhemukira+ Abimeleki, 24 kugira ngo ubukazi bwagiriwe ba bahungu mirongo irindwi ba Yerubayali buze+, no kugira ngo ishire amaraso yabo kuri Abimeleki mwene wabo kubera yabishe+, yongere iyashire kuri bene amatongo b’i Shekemu kubera bamushigikiye*+ kugira ngo yice bene wabo. 25 Bene amatongo b’i Shekemu bashiraho rero abagabo bo kumubundira ku masonga y’imisozi, bakaza barambura umuntu wese yaca hafi yabo ku nzira. Mu nyuma bimenyeshwa Abimeleki.

26 Nuko Gayali+ mwene Ebedi na bene wabo baraza, barajabuka binjira i Shekemu+, hanyuma bene amatongo b’i Shekemu batangura kumwizigira+. 27 Barasohoka nk’uko bisanzwe, baja mu murima, basoroma inzabibu zo mu mirima yabo y’imizabibu, baziganisha amaguru maze batangura kwigina umusi mukuru+, baraheza binjira mu nzu y’imana yabo+, bararya baranywa+ maze bahamagarira akabi+ kuri Abimeleki. 28 Gayali mwene Ebedi avuga ati: “Abimeleki+ abaye nde, kandi Shekemu abaye nde ngo tumukorere? None si mwene Yerubayali+, kandi Zebuli+ si icariho ciwe? Mwebwe nimukorere abantu ba Hamori+ se wa Shekemu, ariko twebwe, twomukorera kubera iki? 29 Ese iyo aba bantu baba bari mu kuboko kwanje+! Nokuyeho Abimeleki.” Abandanya kubwira Abimeleki ati: “Gwiza ingabo zawe uheze usohoke+.”

30 Zebuli umuganwa w’igisagara yumva amajambo ya Gayali mwene Ebedi+. Maze ishavu ryiwe rirarurumba. 31 Atuma rero intumwa ku rwenge kuri Abimeleki ati: “Ehe Gayali mwene Ebedi na bene wabo ubu bashitse i Shekemu+, kandi ehe bariko bakoraniriza igisagara kukurwanya. 32 None rero uhaguruke mw’ijoro+, wewe n’abantu bari kumwe nawe, hanyuma ubunde+ mu gahinga. 33 Maze mu gitondo izuba rigiseruka, uze uhaguruke kare, wirase ku gisagara ugitere; we n’abantu bari kumwe na we nibasohoka kukurwanya, uze umugirire rero uko ukuboko kwawe gushoboye.”

34 Nuko Abimeleki n’abantu bose bari kumwe na we bahaguruka mw’ijoro, maze batangura kubundira Shekemu mu migwi ine. 35 Mu nyuma Gayali+ mwene Ebedi arasohoka, ahagarara ku bwinjiriro bw’irembo ry’igisagara. Maze Abimeleki n’abantu bari kumwe na we bahaguruka aho bari babunze. 36 Gayali ngo abone nya bantu, aca abwira Zebuli ati: “Ehe abantu bariko bamanuka bavuye ku masonga y’imisozi.” Mugabo Zebuli amubwira ati: “Ibitutu vy’imisozi ni vyo uriko urabona nk’aho umengo ni abantu+.”

37 Mu nyuma Gayali yongera kuvuga ati: “Ehe abantu bariko bamanuka bavuye hagati mu gihugu, kandi umugwi umwe uzananye inzira yo ku giti kinini ca Meyonenimu.” 38 Zebuli aca amubwira ati: “Riri he none rya jambo ryawe, rimwe wavuga+ ngo: ‘Abimeleki abaye nde ngo tumukorere+?’ Aba si ba bantu wateye akagere+? Ndakwinginze rero usohoke, ubarwanye.”

39 Nuko Gayali arasohoka ari imbere ya bene amatongo b’i Shekemu, atangura kurwanya Abimeleki. 40 Abimeleki atangura kumukurikira, na we ahunga imbere yiwe; kandi abagandagurwa baguma bagwa ari benshi gushika ku bwinjiriro bw’irembo.

41 Abimeleki abandanya kuba i Aruma, Zebuli+ na we yirukana Gayali+ na bene wabo kugira ngo ntibabandanye kuba i Shekemu+. 42 Nuko ku musi ukurikira, abantu batangura gusohoka baja mu gahinga. Babibwira rero Abimeleki+. 43 Ku bw’ivyo afata abantu, abagabura mu migwi itatu+ hanyuma atangura kubunda mu gahinga. Maze araraba, abona abantu bariko basohoka bavuye mu gisagara. Arahaguruka rero ngo abarwanye, arabica. 44 Abimeleki na ya migwi yari kumwe na we barirasa kugira bahagarare ku bwinjiriro bw’irembo ry’igisagara, imigwi ibiri na yo yirasa ngo itere abari mu gahinga bose, batangura kubica+. 45 Nuko Abimeleki arwanya nya gisagara uwo musi wose maze afata ico gisagara; yica abantu bari muri co+ hanyuma asiturira hasi ico gisagara+, araheza akibibamwo umunyu+.

46 Bene amatongo bo mu munara wa Shekemu bose bavyumvise, ubwo nyene baca baja mu cumba co mu kuzimu c’inzu ya Eli-beriti+. 47 Maze Abimeleki amenyeshwa yuko bene amatongo bo mu munara wa Shekemu bose bari bakoraniye hamwe. 48 Abimeleki aca aduga ku musozi Zalumoni+, we n’abantu bose bari kumwe na we. Abimeleki afata rero ishoka mu kuboko kwiwe araheza aca ishami ry’igiti, arariterura arishira ku rutugu, maze abwira abantu bari kumwe na we ati: “Ivyo mubonye nkora, nyarutse mukore nkanje+!” 49 Nuko nya bantu bose na bo nyene, umwe wese muri bo aca ishami ryiwe, bakurikira Abimeleki. Maze begeka nya mashami kuri nya cumba co mu kuzimu, hanyuma bagiha umuriro hejuru yabo, bituma abantu bose bo mu munara wa Shekemu na bo nyene bapfa, ari nk’abagabo n’abagore igihumbi+.

50 Nuko Abimeleki aja i Tebezi+ maze arakambika ngo atere Tebezi, arahafata. 51 Kubera ko hagati muri nya gisagara hari umunara ukomeye, ni ho abagabo n’abagore bose na bene amatongo bo muri ico gisagara bose bahungiye, hanyuma barawugara inyuma yabo, maze burira ku gisenge c’uwo munara. 52 Abimeleki aja kuri nya munara hanyuma atangura kuwurwanya, aduga hafi y’ubwinjiriro bwa nya munara kugira ngo awuturize umuriro+. 53 Maze umugore umwe aterera ingasiro ku mutwe wa Abimeleki, amumena agahanga+. 54 Abimeleki aca ahamagara ningoga umusuku yari atwaye ibirwanisho vyiwe, amubwira ati: “Sokora inkota yawe unyice+, kugira ngo ntibaze bavuge ku binyerekeye ngo: ‘Umugore ni we yamwishe.’” Buno nyene, nya musuku wiwe aramutobekeranya, arapfa+.

55 Abagabo ba Isirayeli babonye ko Abimeleki yapfuye, baca baragenda umwe wese ahantu hiwe. 56 Gutyo Imana igarukana ikibi ca Abimeleki, ico yari yarakoreye se wiwe mu kwica bene wabo mirongo irindwi+. 57 Ikibi cose c’abagabo b’i Shekemu na co, Imana ikigarukana ku mitwe yabo, kugira ngo wa muvumo+ wa Yotamu+ mwene Yerubayali+ ubazeko+.

10 Nuko inyuma ya Abimeleki hahaguruka Tola mwene Puwa, Puwa wa Dodo, umugabo wo muri Isakari, kugira ngo akize+ Isirayeli; yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 2 Acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’itatu, hanyuma arapfa maze ahambwa i Shamiri.

3 Inyuma yiwe hahaguruka Yayiri Umugileyadi+, acira imanza Isirayeli imyaka mirongo ibiri n’ibiri. 4 Agira abahungu mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo itatu, bakaba bari bafise ibisagara mirongo itatu. Bino bibandanya kwitwa Havoti-yayiri+ gushika n’uyu musi; biri mu gihugu ca Gileyadi. 5 Inyuma y’aho, Yayiri arapfa maze ahambwa i Kamoni.

6 Maze bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, batangura gukorera za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ n’imana za Siriya+ n’imana za Sidoni+ n’imana za Mowabu+ n’imana za bene Amoni+ n’imana z’Abafilisitiya+. Gutyo baheba Yehova, ntibamukorera+. 7 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, ku buryo abagurisha+ mu kuboko kw’Abafilisitiya+ no mu kuboko kwa bene Amoni+. 8 Ku bw’ivyo barasavya bongera barahahaza bikomeye bene Isirayeli muri uwo mwaka; bamara imyaka cumi n’umunani bagirira kuno bene Isirayeli bose bari ku ruhande rwa Yorodani ruherereye mu gihugu c’Abamori cari i Gileyadi. 9 Bene Amoni barajabuka Yorodani kugira barwanye mbere na Yuda na Benyamini n’inzu ya Efurayimu; Isirayeli igira amarushwa akomeye+. 10 Bene Isirayeli batangura rero gutabaza Yehova+, bati: “Twaragucumuyeko+, kuko twahevye Imana yacu tukaba dukorera za Bayali+.”

11 Maze Yehova abwira bene Isirayeli ati: “Mbega sinabakijije Misiri+ n’Abamori+ na bene Amoni+ n’Abafilisitiya+ 12 n’Abanyasidoni+ na Amaleki+ na Midiyani+, igihe babahahaza+ maze namwe mukandirira, sinabakijije nkabakura mu kuboko kwabo? 13 Mugabo mwebwe mwarampevye+, mutangura gukorera izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+. 14 Genda mutabaze imana+ mwatoye+. Nizibe ari zo zibakiza mu gihe c’amarushwa yanyu.” 15 Mugabo bene Isirayeli babwira Yehova bati: “Twaracumuye+. Nutugirire ico ubona ko ari ciza mu maso yawe+. Gusa, turakwinginze uturokore uyu musi+.” 16 Nuko batangura gukura imana z’inyamahanga hagati yabo+ no gukorera Yehova+, ku buryo ubwiwe+ vyanka ko yihangana kubera ivyago vya Isirayeli+.

17 Mu nyuma bene Amoni+ barakorana, maze bashinga ikambi i Gileyadi+. Nuko bene Isirayeli bakoranira hamwe baraheza bashinga ikambi i Mizipa+. 18 Hanyuma abantu be n’abaganwa ba Gileyadi batangura kubwirana bati: “Ni nde mugabo azoja imbere mu kurwanya bene Amoni+? Nabe umukuru w’ababa i Gileyadi+ bose.”

11 Buno Yefuta+ Umugileyadi+ yari yarabaye umugabo w’umunyenkomezi kandi w’intwari+, akaba yari umuhungu w’umugore w’umumaraya+, maze Gileyadi avyara Yefuta. 2 Nuko umugore wa Gileyadi aguma amuvyarira abahungu. Abahungu ba nya mugore bakuze, birukana Yefuta, bamubwira bati: “Ntuzogenda uronse intoranwa mu rugo rwa data+, kuko uri umuhungu w’uwundi mugore.” 3 Yefuta arahunga rero kubera bene wabo, aba mu gihugu ca Tobu+. Maze abagabo batagira ico bakora baguma bakoranira kuri Yefuta, bakaza barasohokana na we+.

4 Haciye igihe, bene Amoni batangura kurwanya Isirayeli+. 5 Nuko bene Amoni barwanije Isirayeli+, abagabo b’inararibonye ba Gileyadi ubwo nyene baca baja kuzana Yefuta mu gihugu ca Tobu+. 6 Maze babwira Yefuta bati: “Enda nuze utubere umukomanda, duheze turwanye bene Amoni.” 7 Mugabo Yefuta abwira nya bagabo b’inararibonye+ ba Gileyadi ati: “Si mwebwe mwanyanse mukanyirukana mu nzu ya dawe+? Kubera iki none muje kuri jewe ubu muri marushwa+?” 8 Nya bagabo b’inararibonye ba Gileyadi baca babwira Yefuta bati: “Ni co gituma ubu tugarutse+ kuri wewe; nujane natwe kurwanya bene Amoni, kandi utubere umukuru aganza ababa i Gileyadi+ bose.” 9 Yefuta abwira rero nya bagabo b’inararibonye ba Gileyadi ati: “Nimba mungarukanye kugira ndwanye bene Amoni, maze Yehova akabagabura+ koko mu kuboko kwanje, jewe nzoba umukuru wanyu!” 10 Abo bagabo b’inararibonye ba Gileyadi na bo babwira Yefuta bati: “Yehova nabe icabona* hagati yacu+, nitutakugirira nk’uko ijambo ryawe riri+.” 11 Yefuta rero ajana n’abagabo b’inararibonye ba Gileyadi maze abantu bamugira umukuru n’umukomanda wabo+. Nuko Yefuta avugira amajambo yiwe yose imbere ya Yehova+ i Mizipa+.

12 Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami wa bene Amoni+ ati: “Mpuriye ku ki nawe+ ko uje kundwanya mu gihugu canje?” 13 Nuko umwami wa bene Amoni abwira izo ntumwa za Yefuta ati: “Ni kubera yuko Isirayeli yantwaye igihugu igihe baduga bavuye mu Misiri+, guhera kuri Arunoni+ gushika kuri Yaboki no gushika kuri Yorodani+. Ubu rero gisubize ku neza.” 14 Mugabo Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami wa bene Amoni, 15 amubwira ati:

“Ibi ni vyo Yefuta avuze: ‘Isirayeli ntiyatwaye igihugu ca Mowabu+ n’igihugu ca bene Amoni+. 16 Kuko igihe baduga bavuye mu Misiri, Isirayeli yaciye mu gahinga gushika ku kiyaga Gitukura+ hanyuma ishika i Kadeshi+. 17 Maze Isirayeli ituma intumwa ku mwami wa Edomu+ iti: “Ndakwinginze ureke nce mu gihugu cawe,” ariko umwami wa Edomu ntiyumviriza. Batuma no ku mwami wa Mowabu+, ariko ntiyemera. Isirayeli ibandanya rero kuba i Kadeshi+. 18 Igihe bashishikara kugenda baciye mu gahinga, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’igihugu ca Mowabu, ku buryo bagenda berekeza mu burasirazuba bw’igihugu ca Mowabu+ baraheza bakambika mu karere ka Arunoni; ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko Arunoni yari rwo rubibe rwa Mowabu+.

19 “‘Inyuma y’aho, Isirayeli ituma intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori, umwami wa Heshiboni+, maze Isirayeli imubwira iti: “Ndakwinginze ureke duce mu gihugu cawe kugira tuje ahantu hacu+.” 20 Mugabo Sihoni agira amakenga ku vy’uko Isirayeli yorenganye gusa iciye mu karere kiwe, maze Sihoni akoraniriza hamwe abantu biwe bose, akambika i Yahazi+ hanyuma arwanya Isirayeli+. 21 Yehova Imana ya Isirayeli aca atanga Sihoni n’abantu biwe bose mu kuboko kwa Isirayeli, barabakubita maze Isirayeli yigarurira igihugu cose c’Abamori baba muri ico gihugu+. 22 Gutyo bigarurira akarere kose k’Abamori, guhera kuri Arunoni gushika kuri Yaboki no guhera mu gahinga gushika kuri Yorodani+.

23 “‘Ubu rero Yehova Imana ya Isirayeli ni we yomoye Abamori abakura imbere y’abantu biwe ari bo Isirayeli+, none nawe ugomba kwomora abantu biwe. 24 Mbega uwo wese Kemoshi+ imana yawe itumye womora, si we womora? Kandi umuntu wese Yehova Imana yacu yomoye imbere yacu, ni we tuzokwomora+. 25 None wewe uruta Balaki mwene Zipori, umwami wa Mowabu+? Hari aho yigeze agiranira amatati na Isirayeli, canke hari aho yigeze abarwanya? 26 Ko Isirayeli yamaze imyaka amajana atatu iba i Heshiboni no mu bisagara bihakukira+, n’i Aroweri+ no mu bisagara bihakukira, no mu bisagara vyose biri iruhande y’inkombe za Arunoni, kubera iki none utigeze ubishikura Isirayeli muri ico gihe+? 27 Jewe sinagucumuyeko, mugabo wewe uriko urangirira nabi mu kundwanya. Yehova Umucamanza+ nace urubanza uno musi hagati ya bene Isirayeli na bene Amoni.’”

28 Mugabo umwami wa bene Amoni ntiyumviriza amajambo ya Yefuta, ayo yari yamutumyeko+.

29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca muri Gileyadi no muri Manase, aca no muri Mizipe ha Gileyadi, hanyuma ava i Mizipe ha Gileyadi+, ararengana aja kuri bene Amoni.

30 Maze Yefuta araganira indagano+ Yehova ati: “Niwatanga koko bene Amoni mu kuboko kwanje, 31 uwuzosohoka, agasohokana mu miryango y’inzu yanje aje kunsanganira ngarutse amahoro+ mvuye kuri bene Amoni, emwe, azoba uwa Yehova+, kandi nzomushikana bwa shikanwa riturirwa+.”

32 Nuko Yefuta arashishikara aja kuri bene Amoni kugira abarwanye, maze Yehova abatanga mu kuboko kwiwe. 33 Atangura rero kubasasika kuva i Aroweri gushika i Miniti+—ibisagara mirongo ibiri—no gushika i Abeli-keramimu: inganda ziratikira bimwe bikomeye. Gutyo bene Amoni bamarwa igabo imbere ya bene Isirayeli.

34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise. 35 Amukubise ijisho, aca atantamura impuzu ziwe+, maze avuga ati: “Yoo, ewe mukobwa wanje! Unteye kwicurikira koko, kandi ni wewe ubaye uwo nariko nkumīra. Jewe nateranuriye akanwa Yehova, nkaba rero ntashobora kwisubirako+.”

36 Mugabo amubwira ati: “Dawe, nimba wateranuriye akanwa Yehova, nungirire nk’uko vyakwiviriye mu kanwa+, kuko Yehova yaguhaye kwihora abansi bawe, ari bo bene Amoni.” 37 Abandanya kubwira se wiwe ati: “Ningirirwe iki kintu: Undeke mu kiringo c’amezi abiri, ngende; nzomanuka ku misozi, ndirire ubusugi+ bwanje, twe n’abagenzi banje b’abakobwa.”

38 Na we aca avuga ati: “Genda!” Nuko aramurungika kumara amezi abiri; aragenda, ari kumwe n’abagenzi biwe b’abakobwa, aririra ubusugi bwiwe ku misozi. 39 Amezi abiri aheze, agaruka kwa se, hanyuma se ashitsa indagano yiwe yari yaragize ku bijanye na we+. Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo. Nuko ibi biba ingingo nyobozi muri Isirayeli: 40 Ku mwaka ku mwaka, abakobwa ba Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umugileyadi, imisi ine mu mwaka+.

12 Maze abagabo ba Efurayimu barakoranywa, bajabuka berekeza mu buraruko, hanyuma babwira Yefuta bati: “Kubera iki wajabutse kurwanya bene Amoni ntudutere akamo ngo tujane nawe+? Inzu yawe turayiguturirirako n’umuriro+.” 2 Mugabo Yefuta ababwira ati: “Twe n’abantu banje twari dufitaniye amatati adasanzwe na bene Amoni+. Mwebwe narabatabaje rero, mugabo ntimwankiza mu kuboko kwabo. 3 Mbonye ko utankijije, nca niyemeza gushira ubuzima bwanje mu kaga*+, nja kurwanya bene Amoni+. Nuko Yehova abatanga mu kuboko kwanje. Kubera iki none uyu musi muduze kundwanya?”

4 Ubwo nyene Yefuta akoraniriza hamwe abagabo bose ba Gileyadi+ maze arwanya Efurayimu; abagabo ba Gileyadi batangura kwica Efurayimu, kuko bano bari bavuze bati: “Ewe Gileyadi, muri abantu bahunze bava muri Efurayimu, hagati muri Efurayimu, hagati muri Manase.” 5 Gileyadi afata ivyambu vya Yorodani+ imbere ya Efurayimu; maze abagabo ba Efurayimu bariko barahunga iyo bavuze ngo: “Nimundeke njabuke,” abagabo ba Gileyadi baca babwira umwe wese bati: “Uri Umwefurayimu?” Avuze ati: “Oya!”, 6 baca bamubwira bati: “Turakwinginze uvuge ngo Shiboleti+.” Na we yaca avuga ngo “Siboleti,” kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira ku vyambu vya Yorodani. Nuko ico gihe hagwa abantu ibihumbi mirongo ine na bibiri bo muri Efurayimu+.

7 Yefuta acira imanza Isirayeli imyaka itandatu, hanyuma Yefuta Umugileyadi arapfa, maze ahambwa mu gisagara ciwe i Gileyadi.

8 Inyuma yiwe, Ibuzani w’i Betelehemu+ atangura gucira imanza Isirayeli+. 9 Agira abahungu mirongo itatu n’abakobwa mirongo itatu. Atuma hanze*, bazanira abahungu biwe abakobwa mirongo itatu bavuye hanze. Acira imanza Isirayeli imyaka indwi. 10 Maze Ibuzani arapfa, hanyuma ahambwa i Betelehemu.

11 Inyuma yiwe, Eloni Umuzebuloni+ atangura gucira imanza Isirayeli. Acira imanza Isirayeli imyaka cumi. 12 Maze Eloni Umuzebuloni arapfa hanyuma ahambwa i Ayaloni mu gihugu ca Zebuloni.

13 Inyuma yiwe, Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni+ atangura gucira imanza Isirayeli. 14 Agira abahungu mirongo ine n’abuzukuru mirongo itatu bagendera ku ndogobwa zikuze+ mirongo irindwi. Acira imanza Isirayeli imyaka umunani. 15 Maze Abudoni mwene Hileli Umunyapiratoni arapfa hanyuma ahambwa i Piratoni mu gihugu ca Efurayimu, ku musozi w’Umumaleki+.

13 Bene Isirayeli bongera gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, ku buryo Yehova abatanga mu kuboko kw’Abafilisitiya+ imyaka mirongo ine.

2 Muri ico gihe, hari umugabo umwe w’i Zora+, wo mu muryango w’Abadani+, akaba yitwa Manowa+. Umugore wiwe yari ingumba; nta mwana yari yaravyaye+. 3 Mu nyuma umumarayika wa Yehova abonekera uwo mugore+, amubwira ati: “Ehe ubu uri ingumba, ukaba ata mwana uravyara. Mugabo uzokwibungenga vy’ukuri, uvyare umuhungu+. 4 Ubu rero ndakwinginze wiyubare ntunywe umuvinyu canke inzoga iboreza+, kandi nturye ikintu na kimwe gihumanye+. 5 Kuko ehe uzokwibungenga, wibaruke koko umuhungu; ntihaze hagire urumosho rugera ku mutwe wiwe+, kuko uwo mwana azoba Umunaziri*+ w’Imana akiva mu nda+; kandi ni we azoja imbere mu gukiza Isirayeli mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”

6 Nya mugore aragenda, abwira umugabo wiwe ati: “Hari umuntu w’Imana y’ukuri yaje aho ndi, kandi ishusho yiwe yari nk’ishusho y’umumarayika w’Imana y’ukuri+, iteye ubwoba rwose+. Sinamubajije aho ava, kandi ntiyambwiye izina ryiwe+. 7 Mugabo yambwiye ati: ‘Ehe uzokwibungenga, wibaruke koko umuhungu+. Ubu rero ntunywe umuvinyu canke inzoga iboreza, kandi nturye ikintu gihumanye na kimwe, kuko uwo mwana azoba Umunaziri w’Imana akiva mu nda gushika umusi azopfira+.’”

8 Nuko Manowa atangura kwinginga Yehova ati: “Ntunga Yehova+. Wa muntu w’Imana y’ukuri uhejeje gutuma, ndakwinginze agaruke aho turi, atwigishe+ ingene tuzogenza uwo mwana azovuka+.” 9 Imana y’ukuri yumviriza rero ijwi rya Manowa+, maze nya mumarayika w’Imana y’ukuri agaruka kuri nya mugore igihe yari yicaye mu gahinga, Manowa umugabo wiwe atari kumwe na we. 10 Ubwo nyene nya mugore aranyaruka, yiruka kubimenyesha umugabo wiwe+, amubwira ati: “Ehe wa muntu yaza wa musi aho ndi aranyiyeretse+.”

11 Manowa aca arahaguruka, aherekeza umugore wiwe maze ashika aho nya muntu ari, amubwira ati: “Woba uri wa muntu yavugana n’uyu mugore+?” Na we ati: “Ndi we.” 12 Maze Manowa avuga ati: “Nuko amajambo yawe naranguke. Uwo mwana azorerwa gute, kandi igikorwa ciwe kizoba ikihe+?” 13 Umumarayika wa Yehova abwira rero Manowa ati: “Uwo mugore aze yirinde ikintu cose namubwiye+. 14 Ntaze arye ikintu na kimwe kiva ku muzabibu w’umuvinyu, kandi ntaze anywe umuvinyu canke inzoga iboreza+, kandi ntaze arye ikintu gihumanye na kimwe c’ubwoko na bumwe+. Aze yubahirize ikintu cose namutegetse+.”

15 Nuko Manowa abwira nya mumarayika wa Yehova ati: “Ndakwinginze udukundire tukugumye maze dutegure akagazi k’impene imbere yawe+.” 16 Mugabo uwo mumarayika wa Yehova abwira Manowa ati: “Niwangumya, sindya ku mukate wawe; mugabo nimba ugomba guhereza Yehova ishikanwa riturirwa+, urashobora kurishikana.” Kuko Manowa atari azi yuko yari umumarayika wa Yehova. 17 Maze Manowa abwira uwo mumarayika wa Yehova ati: “Witwa nde+, kugira ngo ijambo ryawe niryaranguka ntituze tubure kugutera iteka?” 18 Ariko nya mumarayika wa Yehova amubwira ati: “Umbariza iki izina ryanje kandi ari iry’agatangaza?”

19 Manowa afata rero ka kagazi k’impene n’ishikanwa ry’intete, abishikanira Yehova ku gitandara+. Kandi yariko akora ikintu kanaka mu buryo bw’agatangaza, Manowa n’umugore wiwe bitegereza. 20 Nuko urubeya ruriko ruraduga mw’ijuru ruvuye ku gicaniro, nya mumarayika wa Yehova aca aduga muri nya rubeya rw’ico gicaniro Manowa n’umugore wiwe bitegereza+. Baca bagwa hasi bubamye+. 21 Nya mumarayika wa Yehova ntiyasubira kandi kubonekera Manowa n’umugore wiwe. Manowa aca amenya ko yari umumarayika wa Yehova+. 22 Nuko rero Manowa abwira umugore wiwe ati: “Turapfa ata kabuza+, kuko Imana ari yo twabonye+.” 23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: “Iyaba Yehova yagomba gusa kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’intete dutanze+, kandi ntaba yatweretse ibi bintu vyose, eka kandi ubu ntaba yatwumvishije ikintu na kimwe nk’iki+.”

24 Haciye igihe, nya mugore yibaruka umuhungu maze amwita Samusoni+; nya muhungu aguma akura, Yehova na we abandanya kumuhezagira+. 25 Mu nyuma impwemu ya Yehova+ itangura kumucanira i Mahane-dani+, hagati ya Zora+ na Eshitayoli+.

14 Maze Samusoni amanuka i Timuna+, hanyuma abona i Timuna umukobwa umwe wo mu bakobwa b’Abafilisitiya. 2 Nuko aduga kubimenyesha se na nyina, avuga ati: “Hari umukobwa nabonye i Timuna wo mu bakobwa b’Abafilisitiya, none rero mumunsabire ambere umugore+.” 3 Mugabo se na nyina bamubwira bati: “Mbega mu bakobwa ba bene wanyu no mu gisata canje cose nta mukobwa ariyo+, aho uja gukura umugore mu Bafilisitiya batagenyerewe+?” Ariko Samusoni abwira se ati: “Numunsabire, kuko ari we abereye koko mu maso yanje.” 4 Ariko se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye kuri Yehova+, ko yarondera akaryo ko gutera Abafilisitiya, kuko ico gihe nyene Abafilisitiya baganza Isirayeli+.

5 Samusoni amanukana rero na se na nyina i Timuna+. Ashitse ku mirima y’imizabibu y’i Timuna, aza abona intambwe y’umukangara y’umugāra iroshe ikimara guhura na we. 6 Maze impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri we+, ku buryo ayitaburamwo kubiri, nka kurya nyene umuntu ataburamwo kubiri umwagazi w’impene w’isuguru, kandi nta kintu na kimwe cari mu kuboko kwiwe. Ntiyabwira se canke nyina ivyo yari yakoze. 7 Abandanya kumanuka maze atangura kuvugana na wa mukobwa; uno yari akibereye mu maso ya Samusoni+.

8 Nuko haciye igihe, asubirayo kugira ngo amuzane i muhira+. Ari ku nzira, arakevya kugira arabe umuvyimba wa ya ntambwe, maze mu kiziga ca nya ntambwe asangamwo irumbu ry’inzuki be n’ubuki+. 9 Abuhakurira rero mu biganza vyiwe hanyuma abandanya kugenda, agenda ararya+. Ashikiriye se na nyina, aca abahako, na bo batangura kurya. Mugabo ntiyababwira yuko ubwo buki yari yabuhakuye mu kiziga c’intambwe.

10 Nuko se wiwe abandanya kumanuka aja kuri wa mukobwa, maze Samusoni atereka inzimano ng’aho+; kuko ukwo ari ko imisore yakunda kugira. 11 Bamubonye, baca bafata abaherekeza umukwe mirongo itatu, kugira bagumane na we. 12 Samusoni araheza ababwira ati: “Reka ndabapfinde agapfindo+. Nimwakansobanurira koko mu misi indwi+ y’inzimano, mukagapfindura koko, nzobaha impuzu zo munsi mirongo itatu n’imyambaro+ mirongo itatu. 13 Mugabo nimutashobora kukansobanurira, ni mwebwe rero muzompa impuzu zo munsi mirongo itatu n’imyambaro mirongo itatu.” Na bo bamubwira bati: “Pfinda agapfindo kawe, tukumve.” 14 Nuko ababwira ati:

“Mu kiryanyi+ havuyemwo ico kurya,

Mu gikomeye havamwo igisosa+.”

Imisi itatu irahera batarashobora gusobanura ako gapfindo. 15 Ku musi ugira kane batangura kubwira umugore wa Samusoni bati: “Henda umugabo wawe kugira ngo adusobanurire ako gapfindo+. Ahandiho, tuzoguturiza umuriro wewe n’inzu ya so+. Mbega mwadutumiye hano kugira mutunyage utwacu+?” 16 Nuko rero umugore wa Samusoni atangura kumuririra+ avuga ati: “Uranyanka gusa, emwe uranyanka, ntunkunda+. Wapfinze agapfindo abana b’igisata canje+, ariko jewe ntiwakambwira.” Na we amubwira ati: “Erega, na dawe na mawe sinakabasobanuriye+, none abe ari wewe ndagasobanurira?” 17 Mugabo aguma amuririra nya misi indwi inzimano baterekewe yamaze, hanyuma ku musi ugira indwi arahava arakamubwira, kuko yari yamuremereye+. Maze uwo mugore asobanurira nya gapfindo abana b’igisata ciwe+. 18 Nuko ku musi ugira indwi, imbere y’uko Samusoni aninjira mu cumba+, abagabo bo mu gisagara bamubwira bati:

“Ni igiki gisosa kurusha ubuki,

Kandi ni igiki gikomeye kurusha intambwe+?”

Na we ababwira ati:

“Iyo mutarimisha inyana yanje+,

Ntimwari gupfindura agapfindo kanje+.”

19 Nuko impwemu ya Yehova ikorera kuri we+, amanuka i Ashikeloni+, yica muri bo abagabo mirongo itatu, maze atora ivyo yabambuye araheza aha nya myambaro bene gusobanura nya gapfindo+. Ishavu ryiwe ribandanya kururumba, maze araduga aja ku nzu ya se.

20 Nayo umugore wa Samusoni+ arahava yegukira umuherekeza+ wa Samusoni yari yifatanije n’uno.

15 Haciye igihe, mu misi y’iyimbura ry’ingano, Samusoni aja kuramutsa umugore wiwe yitwaje akagazi+ k’impene. Avuga rero ati: “Ngomba kwinjira aho umugore wanje ari mu cumba+.” Se wa nya mugore ntiyamwemerera kwinjira. 2 Mugabo se wa nya mugore avuga ati: “Nibwiye nti: ‘Utegerezwa kuba umwanka+.’ Ku bw’ivyo namuhaye umuherekeza wawe+. None mutoyi wiwe si mwiza kumurusha? Enda nabe uwawe mu kibanza c’uwo wundi.” 3 Ariko Samusoni ababwira ati: “Ubu hoho nta caha kizonyagira ku bijanye n’Abafilisitiya, ninabagirira nabi+.”

4 Nuko Samusoni aragenda, afata imbwebwe+ amajana atatu, afata n’ibimuri maze azitumberanya imirizo zibirizibiri, araheza ashira ikimuri kimwe hagati y’imirizo ibiri, hagati na hagati. 5 Aca adomeka nya bimuri, maze azirekurira mu mirima y’Abafilisitiya y’ibinyantete bihagaze. Gutyo aturira ikintu cose, uhereye ku muganda gushika ku binyantete bihagaze no ku mirima y’imizabibu no ku mirima y’imyelayo+.

6 Nuko Abafilisitiya batangura kuvuga bati: “Ni nde yakoze ibi?” Maze bavuga bati: “Ni Samusoni umukwe wa wa Mutimuni, kuko yafashe umugore wiwe akamuha umuherekeza wiwe+.” Abafilisitiya baca baraduga, baturiza umuriro uwo mugore na se wiwe+. 7 Nuko Samusoni ababwira ati: “Ko mugize ukwo, nta kindi nsigaje atari ukubihora+, mu nyuma nzoca mpagarika.” 8 Atangura kubasasika, arabarundarunda, inganda ziratikira bimwe bikomeye; maze aramanuka, aba mw’isenga ry’urutare rwa Etamu+.

9 Mu nyuma Abafilisitiya+ baraduga, bakambika muri Yuda+, batangura kugendagenda irya n’ino i Lehi+. 10 Maze abagabo ba Yuda bavuga bati: “Kubera iki mutudugiye?” Na bo bati: “Tuduganywe no kuboha Samusoni, kugira tumugirire nk’ivyo yatugiriye.” 11 Nuko abagabo ba Yuda ibihumbi bitatu bamanuka kuri rya senga ry’urutare rwa Etamu+, babwira Samusoni bati: “Ntuzi yuko Abafilisitiya ari bo batuganza+? None ivyo wadukoreye bisobanura iki?” Maze ababwira ati: “Nabagiriye nk’uko bangiriye+.” 12 Mugabo bamubwira bati: “Tumanukanywe no kukuboha kugira tugutange mu kuboko kw’Abafilisitiya.” Samusoni aca ababwira ati: “Nimundahire yuko mwebwe ubwanyu mutaza kungurukirako.” 13 Na bo bamubwira bati: “Oya, ariko turakuboha gusa, maze tugutange mu kuboko kwabo; mugabo ntitukwica.”

Bamubohesha rero imigozi ibiri mishasha+, bamudugana bamukuye muri nya rutare. 14 Araza gushika i Lehi, Abafilisitiya na bo biha akaruru karimwo akanyamuneza ntangere bamubonye+. Impwemu ya Yehova+ itangura gukorera kuri we, maze nya migozi yari ku maboko yiwe iba nk’inyuzi z’ilino zibabuwe n’umuriro+, ku buryo ivyari bimuboshe bishonga bikava ku maboko yiwe. 15 Nuko abona umubangabanga w’indogobwa y’ingabo utaruma, atuma ukuboko arawutora, awicisha abagabo igihumbi+. 16 Maze Samusoni avuga ati:

“Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa y’ingabo, narunze ikirundo kimwe, ibirundo bibiri!

Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa y’ingabo nishe abagabo igihumbi+.”

17 Arangije kuvuga, aca ata nya mubangabanga wari mu kuboko kwiwe, maze yita aho hantu Ramati-lehi*+. 18 Maze aranyoterwa cane, atangura gutakambira Yehova ati: “Ni wewe watanze ubu bukiriro bukomeye mu kuboko kw’umusavyi wawe+, none nicwe n’inyota, ngwe vy’ukuri mu kuboko kw’abatagenyerewe+?” 19 Imana ica isatura ikinogo cimburutse nk’isekuro cari i Lehi, maze amazi+ atangura kukivamwo, na we atangura kunywa, agarura agatege+, arahembuka+. Ni co gituma yacise Eni-hakore*, kikaba kikiri i Lehi gushika n’uyu musi.

20 Nuko acira imanza Isirayeli mu misi y’Abafilisitiya, imyaka mirongo ibiri+.

16 Igihe kimwe, Samusoni aja i Gaza+, abonayo umugore w’umumaraya araheza yinjira iwe+. 2 Maze Abanyegaza bamenyeshwa ngo: “Samusoni yinjiye ng’aha.” Nuko baramukikuza+, bamubundira ijoro ryose mw’irembo ry’igisagara+. Bamara ijoro ryose badakoma, bavuga bati: “Bukimara guca, turamwica ata kabuza+.”

3 Ariko Samusoni aguma aryamye gushika mu gicugu, maze ahaguruka mu gicugu, afata imiryango y’irembo ry’igisagara+ n’ibikingi vyo ku mpande bibiri, abirandurana n’igihindizo araheza abita ku bitugu maze abidugana+ kw’isonga ry’umusozi urabana na Heburoni+.

4 Inyuma y’ivyo, akunda umukobwa mu mwonga wa Soreki, uno akaba yitwa Delila+. 5 Nuko abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya baduga iwe maze bamubwira bati: “Muhende+ ubone aho izo nguvu nyinshi ziwe ziri be n’ico twomuneshesha hamwe n’ico twomubohesha koko kugira tumumare igabo; natwe tuzoguha umwe wese ibice igihumbi n’ijana vy’ifeza+.”

6 Mu nyuma Delila abwira Samusoni ati: “Ndakwinginze umbwire: Ni hehe inkomezi zawe nyinshi ziri kandi ni igiki woboheshwa kugira ngo umuntu akumare igabo+?” 7 Maze Samusoni amubwira ati: “Hamwe bombohesha imitsi+ indwi ikiri mibisi itaruma, sinobura gucika goyigoyi, nkaba nk’umuntu asanzwe.” 8 Ba batware b’urunani+ b’Abafilisitiya bamuzanira rero imitsi ikiri mibisi indwi itaruma. Mu nyuma arayimubohesha. 9 Buno abamubundiye bari bicaye mu cumba ca nya mugore+; uno amubwira ati: “Ngaho Abafilisitiya+, Samusoni!” Aca avutura nya mitsi, nka kurya urunyuzi rutsivye rw’ubugwegwe rucikamwo kubiri iyo rwumvise umuriro+. Kandi inkomezi ziwe ntizatahurika+.

10 Mu nyuma Delila+ abwira Samusoni ati: “Ehe wankinye kugira umbwire ibinyoma+. Ndakwinginze rero umbwire ico woboheshwa.” 11 Maze amubwira ati: “Hamwe bondadira n’imigozi mishasha itarakoreshwa igikorwa na kimwe, sinobura gucika goyigoyi, nkaba nk’umuntu asanzwe.” 12 Nuko Delila afata imigozi mishasha arayimubohesha maze amubwira ati: “Ngaho Abafilisitiya, Samusoni!” Muri ico gihe, abamubundiye bari bicaye mu cumba+. Aca ayivutura nk’akanyuzi+, ayikura ku maboko yiwe.

13 Inyuma y’ivyo Delila abwira Samusoni ati: “Gushika ubu wankinye kugira ngo umbwire ibinyoma+. Ntabara umbwire ico woboheshwa+.” Maze amubwira ati: “Niwajishisha urunyuzi rw’indamvu+ ibi bitsibo indwi vyo ku mutwe wanje, birashoboka.” 14 Abifatisha rero urumambo, hanyuma amubwira ati: “Ngaho Abafilisitiya, Samusoni+!” Aca arikangura ava mw’itiro maze ashingura rwa rumambo rwo kujishisha na rwa runyuzi rw’indamvu.

15 Nuko amubwira ati: “Wubahuka gute kuvuga ngo: ‘Ndagukunda+,’ kandi umutima wawe utari kuri jewe? Wankinye izi ncuro zitatu zose, ntiwambwira aho inkomezi zawe nyinshi ziri+.” 16 Nuko kubera ko umwanya wose yaguma amuremera+ n’amajambo yiwe kandi akaguma amugobera, ntiyaba agishobora kwihangana na gato+. 17 Amaherezo amuhishurira ibiri mu mutima wiwe vyose+, amubwira ati: “Urumosho+ ntirwigeze rugera ku mutwe wanje, kuko ndi Umunaziri w’Imana kuva mu nda ya mawe+. Hamwe nomobwa koko, inkomezi zanje zoca zimvako; nocika goyigoyi nkaba nk’abandi bantu bose+.”

18 Delila abonye ko amuhishuriye ibiri mu mutima wiwe vyose, aca atuma guhamagara ba batware b’urunani+ b’Abafilisitiya, ati: “Ubu hoho nimuduge, kuko yampishuriye ibiri mu mutima wiwe vyose+.” Nya batware b’urunani b’Abafilisitiya baduga iwe batwaye ya mahera mu kuboko kwabo+. 19 Nuko amusinziririza ku bibero vyiwe. Maze ahamagara umugabo, amusaba kumwa vya bitsibo indwi vyo ku mutwe wiwe, hanyuma Delila atangura kwerekana ko amwifitiye mu minwe, kandi inkomezi ziwe ziguma zimuvako. 20 Avuga rero ati: “Ngaho Abafilisitiya, Samusoni!” Aca arikangura mw’itiro, hanyuma avuga ati: “Ndasohoka nko mu bindi bihe+, nigobotore.” Mugabo ntiyari azi ko Yehova yari yamuvuyeko+. 21 Nuko Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso+ baraheza bamumanukana i Gaza+, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu+; aba umusyi+ mu nzu y’ibohero+. 22 Ariko umushatsi wo ku mutwe wiwe utangura kumera ari mwinshi akimara kumobwa+.

23 Nayo ba batware b’urunani b’Abafilisitiya, bakoranira hamwe kugira bashikanire ikimazi gikomeye Dagoni+ imana yabo no kugira banezerwe; baguma bavuga bati: “Imana yacu yatanze mu kuboko kwacu Samusoni umwansi wacu+!” 24 Abantu bamubonye, ubwo nyene bashemeza imana yabo+ bati: “Kuko imana yacu yatanze mu kuboko kwacu umwansi wacu+ akaba n’uwatikiza igihugu cacu+ n’uwagwiza abagandaguwe bacu+.”

25 Nuko kubera ko umutima wabo wari uryohewe+, batangura kuvuga bati: “Hamagare Samusoni abe aratunezereza+.” Bahamagara rero Samusoni mu nzu y’ibohero kugira ngo agirire imbere yabo ibituma batwenga+; bamuhagarika hagati y’inkingi. 26 Maze Samusoni abwira agahungu kari kamufashe ukuboko ati: “Ndeka nkorakore inkingi iyi nzu ishimangiweko, ndazishimikize.” 27 (Buno iyo nzu yari yuzuye abagabo n’abagore kandi abatware b’urunani b’Abafilisitiya bose ni ho bari+; ku gisenge hari abagabo n’abagore nk’ibihumbi bitatu bariko bitegereza mu gihe Samusoni yariko abanezereza+.)

28 Nuko Samusoni+ ahamagara Yehova+ ati: “Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze unyibuke+, ndakwinginze unkomeze+ iri rimwe gusa, ewe Mana y’ukuri, nihore Abafilisitiya, kugira mpore rimwe mu maso yanje abiri+.”

29 Samusoni aca yifadikiza za nkingi zibiri zo hagati nya nzu yari ishimangiweko, arazifata, imwe n’ukuryo kwiwe, iyindi n’ukubamfu kwiwe. 30 Hanyuma Samusoni avuga ati: “Reka mpfane+ n’Abafilisitiya.” Maze arituna n’inkomezi zose, nya nzu ica itangura kugwa kuri ba batware b’urunani no ku bantu bose bari muri yo+, ku buryo abo yishe mu gupfa kwiwe baba benshi kuruta abo yari yarishe akiriho+.

31 Mu nyuma bene wabo be n’urugo rwa se rwose baramanuka, baramuterura baramudugana, bamuhamba hagati ya Zora+ na Eshitayoli+, mw’itongo ryo guhambamwo rya Manowa+ se wiwe. Samusoni yari amaze imyaka mirongo ibiri acira imanza Isirayeli+.

17 Buno hari umugabo wo mu  karere  k’imisozi ka Efurayimu+ yitwa Mika. 2 Arahava abwira nyina ati: “Vya bice igihumbi n’ijana vy’ifeza bagutwara ukavuma+ uwavyivye, ukabivuga numva . . . erega izo feza ni je ndazifise. Ni je nazitwaye+.” Nyina aca avuga ati: “Umuhungu wanje aragahezagirwa na Yehova+.” 3 Nuko asubiza nyina nya bice igihumbi n’ijana vy’ifeza+; nyina abandanya kuvuga ati: “Emwe, ntegerezwa kwereza Yehova izi feza zivuye mu kuboko kwanje ku bw’umuhungu wanje, kugira ngo hakorwe igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; ubu rero ngira ndazigusubize.”

4 Mugabo asubiza nyina izo feza, maze nyina afata ibice amajana abiri vy’ifeza, abiha umucuzi w’ifeza+. Uno akora igishusho c’ikibazano+ n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+; nuko biba mu nzu ya Mika. 5 Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’imana+; atangura rero gukora efodi+ na terafimu*+ no kwuzuza ububasha ukuboko+ kw’umwe mu bahungu biwe, kugira ngo amubere umuherezi+. 6 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo yabona ko bibereye mu maso yiwe bwite+.

7 Kandi i Betelehemu+ muri Yuda hari umusore wo mu muryango wa Yuda, akaba yari Umulewi+. Yari amaze igihe gito aba ng’aho. 8 Nuko uwo mugabo ava mu gisagara ca Betelehemu muri Yuda kugira aje kuba arabaye aho ari ho hose yoronka ikibanza. Ariko aragenda, amaherezo yinjira mu karere k’imisozi ka Efurayimu, ashika ku nzu ya Mika+. 9 Maze Mika amubwira ati: “Uva he?” Na we ati: “Ndi Umulewi w’i Betelehemu muri Yuda, nkaba ndiko nja kuba ndabaye aho ari ho hose noronka ikibanza.” 10 Mika amubwira rero ati: “Niwibanire nanje, umbere dawe+ n’umuherezi+, nanje nzoguha ibice cumi vy’ifeza ku mwaka n’impuzu zikwiye zihora zikoreshwa be n’ibigutunga.” Nuko uwo Mulewi arinjira. 11 Uwo Mulewi afata rero ingingo yo kubana n’uwo mugabo, maze uwo musore amubera nk’umwe mu bahungu biwe. 12 Vyongeye, Mika yuzuza ububasha ukuboko+ kw’uwo Mulewi, kugira ngo uwo musore amubere umuherezi+ yongere agume aba mu nzu ya Mika. 13 Ku bw’ivyo Mika avuga ati: “Ubu ndamenye koko yuko Yehova azongirira neza, kuko uwu Mulewi ambereye umuherezi+.”

18 Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, umuryango w’Abadani+ wariko wironderera intoranwa yo kubamwo; kuko gushika uwo musi batari bwaronke intoranwa hagati mu miryango ya Isirayeli+.

2 Amaherezo bene Dani batuma abagabo batanu bo mu muryango wabo, abagabo bo muri bo, abagabo b’intwari, bavuye i Zora+ n’i Eshitayoli+, kugira batate+ igihugu no kugira bakigendure. Bababwira rero bati: “Gende mugendure ico gihugu.” Barahava binjira mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, bashika ku nzu ya Mika+, bararaho. 3 Bari hafi y’inzu ya Mika, bamenya ijwi rya wa musore, wa Mulewi, baca bakeberezayo. Bamubwira bati: “Ni nde yakuzanye ng’aha? Ukora iki aha hantu, kandi ugumijwe n’iki ng’aha?” 4 Na we ababwira ati: “Mika yangiriye gutya na gutya kugira ampere+, no kugira ndamubere umuherezi+.” 5 Maze bamubwira bati: “Turakwinginze usiguze+ Imana+ kugira tumenye niba inzira yacu, inzira tujanye, izororanirwa.” 6 Nya muherezi rero ababwira ati: “Nimugende amahoro. Imbere ya Yehova ni ho inzira yanyu iri, inzira mujanye.”

7 Nya bagabo batanu barabandanya rero maze bashika i Layishi+, babona ingene abantu bariyo bari babayeho batazera inze, nk’uko umugenzo w’Abanyasidoni wari, batekanye kandi ata co binona+; kandi nta munyazi w’intara w’agahahazo yasindira ikintu na kimwe muri ico gihugu, kuko baba kure y’Abanyasidoni+ bakaba kandi ata co bari bahuriyeko n’abantu.

8 Amaherezo bashikira bene wabo i Zora+ n’i Eshitayoli+, maze bano batangura kubabwira bati: “Vyabagendeye gute?” 9 Na bo bishura bati: “Haguruke, tuduge kubatera; kuko twabonye ico gihugu, kandi ni ciza cane+. Namwe muriko mugonanwa. Ntimugire ubute bwo kugenda, kugira mwinjire maze mwigarurire ico gihugu+. 10 Nimwinjira, muzoshikira ku bantu ata co binona+, kandi ico gihugu kiragutse rwose; kuko Imana igitanze mu kuboko kwanyu+; ni ahantu ata kintu c’ubwoko na bumwe co mw’isi kihabuze+.”

11 Nuko abagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vy’intambara bo mu muryango w’Abadani+, baragenda bavuye ng’aho, ni ukuvuga bavuye i Zora n’i Eshitayoli+. 12 Baraduga maze bakambika i Kiriyati-yeyarimu+ muri Yuda. Ni co catumye aho hantu bahita Mahane-dani*+ gushika n’uyu musi. Ehe haherereye mu burengero bwa Kiriyati-yeyarimu. 13 Hanyuma bava ng’aho baja mu karere k’imisozi ka Efurayimu hanyuma bashika ku nzu ya Mika+.

14 Maze ba bagabo batanu bari bagiye gutata+ igihugu ca Layishi+ babwira bene wabo bati: “Mwari muzi yuko muri aya mazu hari efodi na terafimu+ n’igishusho c’ikibazano+ be n’igishushanyo co mu cuma gishongeshejwe+? Ubu rero nimwiyumvire ico muri bukore+.” 15 Bakeberezayo rero maze bashika ku nzu ya wa musore, wa Mulewi+, ku nzu ya Mika, baraheza batangura kubaza amakuru yiwe+. 16 Muri ico gihe, ba bagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vyabo vy’intambara+ bo muri bene Dani+, bari bahagaze ku bwinjiriro bw’irembo. 17 Ba bagabo batanu bari bagiye gutata ico gihugu+ baraduga rero, kugira ngo binjireyo gutora ca gishusho c’ikibazano+ na ya efodi+ na ya terafimu+ na ca gishusho co mu cuma gishongeshejwe+. (Kandi wa muherezi+ yari ahagaze mu bwinjiriro bw’irembo ari kumwe na ba bagabo amajana atandatu bakenyeye ibirwanisho vy’intambara.) 18 Nuko nya bagabo batanu binjira mu nzu ya Mika maze batora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi na ya terafimu na ca gishusho co mu cuma gishongeshejwe+. Nya muherezi+ ababwira ati: “Ivyo mugira ni ibiki?” 19 Mugabo bamubwira bati: “Tekereza. Shira ikiganza cawe ku munwa, uheze ujane natwe utubere data+ be n’umuherezi+. Mbega icoba ciza kuruta, ni uko wobandanya kuba umuherezi w’inzu y’umuntu umwe+ canke ko uba umuherezi w’umuryango n’inzu muri Isirayeli+?” 20 Umutima wa nya muherezi uca urahimbarwa+, atora rero ya efodi na ya terafimu na ca gishusho c’ikibazano+, aja hagati mu bantu.

21 Maze barahindukira bafata inzira, bashira imbere yabo abana batoyi n’ibitungwa n’ibintu vy’agaciro+. 22 Bamaze gushika kure y’inzu ya Mika, abagabo bari mu mazu yari hafi y’inzu ya Mika+ barakorana, maze bagerageza guhamvya bene Dani. 23 Bagumye batera akamo bene Dani, bano baca barahindukira, babwira Mika bati: “Ni amaki wewe+, ko wakoranije abo bantu?” 24 Aca avuga ati: “Imana zanje+ nahinguye+ mwazitwaye, n’umuherezi+ muratwara, muraheza muragenda; none nsigaranye iki+? Mushobora gute none kumbwira ngo: ‘Ni amaki wewe?’” 25 Bene Dani baca bamubwira bati: “Ntiwumvikanishe ijwi ryawe hafi yacu, kugira ngo abagabo b’umutima udundumiwe+ ntibahave babagurukirako, mwe n’urugo rwawe mukahasiga ubuzima.” 26 Bene Dani babandanya kugenda; Mika abona ko bakomeye kumurusha+, aca arahindukira asubira ku nzu iwe.

27 Nayo bo, batwara ivyo Mika yari yarahinguye na wa muherezi+ wiwe, babandanya kuja i Layishi+, gutera abantu batekanye kandi ata co binona+. Batangura kubakubitisha ubugi bw’inkota+, igisagara na co bagiha umuriro+. 28 Ntihaboneka umurokozi, kuko hari kure y’i Sidoni+, bakaba kandi ata co bari bahuriyeko na gato n’abantu; hari mu kiyaya co hasi cegukira Beti-rehobu+. Maze bongera kwubaka ico gisagara, hanyuma bakibamwo+. 29 Vyongeye, ico gisagara bacita Dani bisunze izina rya se Dani+, uwari yavutse kuri Isirayeli+. Ariko mu ntango ico gisagara citwa Layishi+. 30 Inyuma y’ivyo, bene Dani bishingira igishusho c’ikibazano+; Yonatani+ mwene Gerishomu+, Gerishomu wa Musa, we n’abahungu biwe baba abaherezi b’umuryango w’Abadani gushika umusi ico gihugu cajanwa mu bunyagano+. 31 Nya gishushanyo c’ikibazano ca Mika, ico yari yarahinguye, baguma bagishinze imisi yose inzu+ y’Imana y’ukuri yabandanije kubaho i Shilo+.

19 Kandi muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Ico gihe hari Umulewi umwe yari amaze igihe aba mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’akarere k’imisozi ka Efurayimu+. Arahava yabira incoreke+ y’i Betelehemu+ muri Yuda. 2 Mugabo nya ncoreke yiwe itangura gusambana+, iramuhemukira. Amaherezo iva iwe ija i muhira kwa se i Betelehemu muri Yuda, igumayo amezi ane yuzuye. 3 Maze umugabo wiwe arahaguruka aramukurikira, kugira amuyagishe n’ijwi ryirura, ngo amugarukane; kandi yari kumwe n’umusuku+ wiwe n’indogobwa z’ingabo zibiri. Nuko nya mugore amwinjiza mu nzu ya se. Se w’uwo mugore akiri muto ngo amubone, aca aranezerwa no kumusanganira. 4 Nuko sebukwe, se wa nya mugore akiri muto, aramugumya, ku buryo abandanya kubana na we imisi itatu; bararya bakanywa, kandi yarara ng’aho+.

5 Nuko ku musi ugira kane, bavyutse kare mu gitondo nk’uko bisanzwe, arahaguruka rero ngo agende, mugabo se wa nya mugore akiri muto abwira umukwe wiwe ati: “Fatisha umutima wawe igipande c’umukate+ hanyuma mubone kugenda.” 6 Baricara rero, maze bompi batangura kurya no kunywa bari kumwe; se wa nya mugore akiri muto abwira nya mugabo ati: “Ndakwinginze wemere kurara+, kandi umutima wawe uryoherwe+.” 7 Nya mugabo ahagurutse ngo agende, sebukwe aguma amwinginga, ku buryo yongera kuharara+.

8 Ku musi ugira gatanu, avyutse kare mu gitondo ngo agende, se wa nya mugore aca avuga ati: “Ndakwinginze ugire ico ufashe ku bw’umutima wawe+.” Barateba, gushika bugorovye. Kandi bompi bǎguma barya. 9 Nya mugabo+ arahaguruka rero ngo agende, we n’incoreke yiwe+ n’umusuku wiwe+; mugabo sebukwe, se wa nya mugore akiri muto, amubwira ati: “Ehe raba umusi uritereye bugira bwire. Ndabingize murare+. Ehe umusi uragiye. Rara ng’aha, kandi umutima wawe uryoherwe+. Ejo muze muvyuke kare kugira mufate urugendo, uheze uje kw’ihema ryawe.” 10 Ariko nya mugabo ntiyemera kurara, mugabo arahaguruka afata urugendo hanyuma ashika aharabana na Yebusi+, ari yo Yeruzalemu+; kandi yari kumwe na za ndogobwa z’ingabo zibiri ziriko amatandiko, n’incoreke yiwe be n’umusuku wiwe.

11 Bari hafi ya Yebusi, kubera ko umurango wari witereye rwose+, nya musuku rero abwira shebuja ati: “Enda rero nuze dukebereze muri iki gisagara c’Abayebusi+, turareyo.” 12 Mugabo shebuja amubwira ati: “Ntidukebereze mu gisagara c’abanyamahanga+ batari abo muri bene Isirayeli; tubwirizwa kubandanya gushika i Gibeya+.” 13 Abandanya kubwira umusuku wiwe ati: “Ingo twegere kimwe muri biriya bibanza, turare i Gibeya canke i Rama+.” 14 Nuko barashishikara, babandanya urugendo, maze izuba ritangura kubarengerako bashitse hafi y’i Gibeya, ahegukira Benyamini.

15 Bakeberezayo rero kugira baje kurara i Gibeya. Nuko barinjira, bicara mu kibanza ca bose c’ico gisagara, mugabo ntihaboneka uwubajana mu nzu kugira barareyo+. 16 Amaherezo, ehe umutama yari atashe ku mugoroba+ avuye gukora mu murima, uwo mugabo akaba yaturuka mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, kandi yari amaze igihe aba i Gibeya; mugabo abantu b’aho hantu bari Ababenyamini+. 17 Araramuye amaso abona wa mugabo, ya ngenzi, mu kibanza ca bose c’igisagara. Uwo mutama avuga rero ati: “Uva he ukaja he+?” 18 Na we amubwira ati: “Tuvuye i Betelehemu muri Yuda, tukaba turiko tuja mu mihingo ya kure kuruta iyindi y’akarere k’imisozi ka Efurayimu+. Aho ni ho mva, mugabo nari nagiye i Betelehemu muri Yuda+. Ndiko nja ku nzu yanje, mugabo ntihabonetse uwunyakira mu nzu+. 19 Ndafise ibikumbi n’indya z’ibitungwa+ ku bw’indogobwa zacu, nkagira n’umukate+ be n’umuvinyu, ivyo twe n’umushumbakazi+ wawe n’umusuku+ ari kumwe n’umusavyi wawe twikorako. Nta na kimwe kibuze.” 20 Ariko nya mutama avuga ati: “Nugire amahoro+! Ico ubura cose nikije kuri jewe+; ariko nturare muri iki kibanza ca bose.” 21 Nuko amwinjiza mu nzu iwe+, aha za ndogobwa+ ivyo zirya. Maze boga ibirenge+, batangura kurya no kunywa.

22 Mu gihe bariko bararyoherwa+, abagabo bo muri ico gisagara, abagabo b’imburakimazi gusa+, bakikuza nya nzu+, basunikana ku muryango; baguma babwira nya mutama, nyene inzu, bati: “Sohora uwo mugabo yinjiye mu nzu yawe turyamane na we+.” 23 Nyene inzu aca arasohoka aja aho bari, ababwira+ ati: “Oya, bene wacu+, ndabinginze ntihagire ikintu kibi mukora, kuko uyu mugabo yinjiye mu nzu yanje. Ntimukore ubwo busazi bw’agaterasoni+. 24 Ng’uyu umukobwa wanje w’isugi n’incoreke y’uwo mugabo. Ndabingize mureke ndabasohore, maze mubashurashuze ku nguvu+, mubakorere ico mubona ko ari ciza. Ariko uyu mugabo ntimumugirire ico kintu c’agaterasoni kandi c’ubusazi.”

25 Yamara nya bagabo ntibashaka kumwumviriza. Ku bw’ivyo, nya mugabo afata incoreke yiwe+, ayisohora aho bari hanze; na bo batangura kuyisambanya+, bamara ijoro ryose bayonona+ gushika mu gitondo, hanyuma bayirungika umutwenzi utambitse. 26 Maze nya mugore ashika buriko buraca, agwa ku bwinjiriro bw’inzu ya nya mugabo aho shebuja wiwe yari+, agumaho gushika bukeye. 27 Mu nyuma, shebuja aravyuka mu gitondo maze yugurura imiryango y’inzu, arasohoka kugira abandanye urugendo, maze asanga wa mugore, ya ncoreke yiwe+, yari arambaraye ku muryango w’inzu, amaboko ari ku rwinjiriro. 28 Amubwira ati: “Haguruka tugende.” Mugabo ntihagira uwishura+. Nya mugabo aca amuterurira ku ndogobwa, arahaguruka aja iwe+.

29 Nuko yinjira mu nzu yiwe, atora ikibugita hanyuma afata nya ncoreke yiwe, ayihimbaguramwo ibipande cumi na bibiri+ afatiye ku magufa yayo, araheza ayirungika mu turere twose twa Isirayeli+. 30 Uwabibona wese yavuga ati: “Ibintu nk’ibi ntivyari bwigere biba canke biboneka kuva umusi bene Isirayeli baduga bavuye mu gihugu ca Misiri gushika uyu musi. Nimubishireko umutima, muje inama+, mugire ico muvuze.”

20 Nuko rero bene Isirayeli bose barasohoka+ maze ikoraniro rirakorana nk’umuntu umwe+, kuva i Dani+ gushika i Beyeri-sheba+ be n’igihugu ca Gileyadi+, bakoranira imbere ya Yehova i Mizipa+. 2 Abakurubakuru b’abantu bose n’imiryango ya Isirayeli yose bahagarara mw’ishengero ry’abantu b’Imana y’ukuri+, abagabo ibihumbi amajana ane bari ku maguru barwanisha inkota+.

3 Nuko bene Benyamini bumva yuko bene Isirayeli bari baduze i Mizipa+.

Maze bene Isirayeli bavuga bati: “Nimuvuge. Ico kintu kibi cabaye gute+?” 4 Wa mugabo, wa Mulewi+, umugabo wa wa mugore yicwa, aca arishura ati: “Nashitse i Gibeya+ hegukira Benyamini, jewe n’incoreke+ yanje kugira tuharare. 5 Nuko bene amatongo b’i Gibeya barampagurukira, bakikuza inzu mw’ijoro barantera. Ni jewe biyumvira kwica, mugabo incoreke yanje ni yo bashurashuje ku nguvu+, irateba irapfa+. 6 Naciye rero mfata incoreke yanje, ndayihimbagura, maze ndayirungika mu turere twose tw’intoranwa ya Isirayeli+, kuko bari bakoze ubushirasoni*+ n’ubusazi bw’agaterasoni muri Isirayeli+. 7 None rero yemwe bene Isirayeli mwese, nimugire ico muvuze n’ico muhanuye+ ng’aha.”

8 Nuko abantu bose bahaguruka nk’umuntu umwe+, bavuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe aja kw’ihema ryiwe, eka kandi nta n’umwe muri twebwe akebereza ku nzu yiwe+. 9 Ubu rero, iki ni co kintu tugiye gukorera Gibeya. Tuduge kuhatera dukurikije ubupfindo+. 10 Tuze dutore abagabo cumi mw’ijana mu miryango yose ya Isirayeli, n’ijana mu gihumbi, n’igihumbi mu bihumbi cumi, kugira baronderere abantu impamba, ngo bano bagire ico bakoze mu kuja gutera Gibeya ha Benyamini, kubera ubusazi bw’agaterasoni+ bwose bakoze muri Isirayeli.” 11 Gutyo abagabo ba Isirayeli bose bakoranira gutera ico gisagara nk’umuntu umwe, bagize urunani.

12 Nuko imiryango ya Isirayeli irungika abagabo ku bantu bose bo mu muryango wa Benyamini+ ngo bavuge bati: “Ico kintu kibi cabaye muri mwebwe ni igiki+? 13 Ubu rero nimutange abo bagabo+, abo bagabo b’imburakimazi+ bari i Gibeya+, kugira tubice+, dukure ikibi muri Isirayeli+.” Ariko bene Benyamini ntibashaka kwumviriza ijwi rya bene wabo, bene Isirayeli+.

14 Maze bene Benyamini bakoranira hamwe i Gibeya bavuye mu bisagara, kugira basohoke baje mu rugamba rwo kurwanya bene Isirayeli. 15 Bene Benyamini barakoranywa rero kuri uwo musi bavuye mu bisagara, abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu barwanisha inkota+, uretse ababa i Gibeya, abakoranijwemwo abagabo amajana indwi b’abahizi. 16 Muri abo bantu bose harimwo abagabo amajana indwi b’abahizi bakoresha ibamfu+. Umwe wese muri abo yari uwuteza amabuye umugozi+, agema gushika ku bwaguke bw’agashatsi kandi ntahushe.

17 Nuko abagabo ba Isirayeli barakoranywa, uretse Benyamini, abagabo ibihumbi amajana ane barwanisha inkota+. Umwe wese muri abo yari umurwanyi. 18 Barahaguruka rero, baduga i Beteli maze basiguza Imana+. Nuko bene Isirayeli bavuga bati: “Ni nde muri twebwe azotangura kuduga mu rugamba rwo kurwanya bene Benyamini+?” Yehova avuga ati: “Yuda ni we azotangura+.”

19 Inyuma y’ivyo bene Isirayeli bahaguruka mu gitondo maze barakambika kugira batere Gibeya.

20 Abagabo ba Isirayeli barasohoka rero ngo baje mu rugamba rwo kurwanya bene Benyamini; nuko abo bagabo ba Isirayeli batonda urugamba ngo babarwanirize i Gibeya. 21 Maze bene Benyamini barasohoka bavuye i Gibeya+, kuri uwo musi bahonya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri muri Isirayeli, babatsinda hasi+. 22 Ariko abantu, abagabo ba Isirayeli, bagira umutima rugabo, bongera gutonda urugamba hamwe bari baratonze urugamba ku musi wa mbere. 23 Maze bene Isirayeli baduga kuririra+ imbere ya Yehova gushika ku mugoroba, babaza Yehova bati: “Nsubire kwegera mu rugamba rwo kurwanya bene Benyamini mwene wacu+?” Yehova avuga ati: “Duga umurwanye.”

24 Nuko rero bene Isirayeli begera bene Benyamini ku musi ugira kabiri+. 25 Bene Benyamini na bo barasohoka bavuye i Gibeya kugira batane mu mitwe kuri uwo musi ugira kabiri, maze bahonya abandi bagabo ibihumbi cumi n’umunani mu bagabo ba Isirayeli, babatsinda hasi+, abo bose bakaba barwanisha inkota+. 26 Nuko bene Isirayeli bose+, emwe abantu bose baraduga bashika i Beteli, baririra+ ng’aho bongera bicara ng’aho imbere ya Yehova; kuri uwo musi barisonzesha+ gushika ku mugoroba, bongera bashikana imbere ya Yehova amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa y’ugusangira+. 27 Inyuma y’ivyo, bene Isirayeli basiguza Yehova+, kuko aho ari ho isandugu y’isezerano+ ry’Imana y’ukuri yari muri iyo misi. 28 Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari wa Aroni, ni we yahagarara imbere yayo muri iyo misi+; nuko avuga ati: “Nsubire gusohoka nje mu rugamba kurwanya bene Benyamini mwene wacu canke ndeke+?” Yehova avuga ati: “Duga, kuko ejo nzomutanga mu kuboko kwawe+.” 29 Maze Isirayeli ishiraho abagabo bo kubundira+ Gibeya irya n’ino.

30 Hanyuma bene Isirayeli baduga kurwanya bene Benyamini ku musi ugira gatatu, maze batonda urugamba ngo barwanye Gibeya nko mu bindi bihe+. 31 Bene Benyamini basohotse guhura n’abo bantu, bajanwa kure y’igisagara+. Maze, nko muri vya bihe bindi, batangura gusasika bamwe mu bantu, bagenda baragwa ku nzira z’ibirari bakomeretse bimwe vyica, imwe muri izo nzira ikaba iduga i Beteli+ iyindi na yo i Gibeya+, mu gahinga, basasika nk’abagabo mirongo itatu muri Isirayeli+. 32 Bene Benyamini rero batangura kuvuga bati: “Baratsinzwe imbere yacu nk’ubwa mbere+.” Bene Isirayeli na bo bavuga bati: “Duhunge+, kandi turabajana kure y’igisagara ku nzira z’ibirari.” 33 Nuko abagabo bose ba Isirayeli bahaguruka aho bari maze baja gutonda urugamba i Bayali-tamari, mu gihe abo muri Isirayeli bari babunze+ bariko bavunduruka aho bari, mu micungararo ya Gibeya+. 34 Gutyo abagabo b’abahizi ibihumbi cumi bo muri Isirayeli yose bashika aharabana na Gibeya, urugamba rurareta; ariko Ababenyamini ntibari bazi ko ivyago+ vyari bigiye kubashikira.

35 Nuko Yehova atsinda Benyamini+ imbere ya Isirayeli, ku buryo kuri uwo musi bene Isirayeli bahonya muri Benyamini abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ijana, abo bose bakaba barwanisha inkota+.

36 Ariko bene Benyamini biyumvira ko abagabo ba Isirayeli bagira batsindwe, kuko bano baguma bahunga+ imbere ya Benyamini, kubera ko bari bizigiye bamwe bari bashizeho ngo babundire Gibeya. 37 Nayo bamwe bari babunze, bagira ningoga birasa i Gibeya+. Maze abo bari babunze+ barasanzara, bakubitisha igisagara cose ubugi bw’inkota+.

38 Kandi abagabo ba Isirayeli bari bumvikanye n’abo bari babunze ko bano botumye ikimenyetso c’umwotsi kiduga kivuye mu gisagara+.

39 Bene Isirayeli bahindukiye ngo bahunge urugamba, bene Benyamini batangura gusasika nk’abagabo mirongo itatu mu bagabo ba Isirayeli+, bagwa bakomeretse bimwe vyica, kuko bavuze bati: “Ni ukuri baratsinzwe imbere yacu nko mu rugamba rwa mbere+.” 40 Nuko ca kimenyetso+ gitangura kuduga kivuye mu gisagara nk’inkingi y’umwotsi+. Bene Benyamini bahindukiye bakaraba inyuma, ehe umwotsi w’igisagara cose wariko uduga werekeza mw’ijuru+. 41 Nuko abagabo ba Isirayeli barahindukira+, maze abagabo ba Benyamini bahagarika umutima+, kuko babona ko ivyago vyari vyabashikiriye+. 42 Ku bw’ivyo, barahindukira imbere y’abagabo ba Isirayeli berekeza mu gahinga, maze urugamba ruboma inyuma, mu gihe ba bagabo bari bavuye mu bisagara bariko babicira hagati yabo. 43 Bakikuza bene Benyamini+. Barabakurikirana ata hantu ho kuruhukira+. Babakandagirira neza na neza imbere ya Gibeya+ amaja iyo izuba rirasira. 44 Amaherezo hagwa abagabo ba Benyamini ibihumbi cumi n’umunani, abo bose bakaba bari abagabo b’intwari+.

45 Gutyo barahindukira, bahungira mu gahinga ku rutare rwa Rimoni+. Mu nzira z’ibirari+ handurwa muri bo abagabo ibihumbi bitanu; baguma baboma inyuma gushika i Gidomu, bica muri bo abandi bagabo ibihumbi bibiri. 46 Abo kwa Benyamini bose baguye uwo musi, amaherezo bagera ku bagabo ibihumbi mirongo ibiri na bitanu barwanisha inkota+, abo bose bakaba bari abagabo b’intwari. 47 Mugabo abagabo amajana atandatu barahindukira, bahungira mu gahinga ku rutare rwa Rimoni, bamara amezi ane baba kuri urwo rutare rwa Rimoni+.

48 Nuko abagabo ba Isirayeli bagaruka gutera bene Benyamini, bakubitisha ubugi bw’inkota abo mu gisagara, uhereye ku bantu ugashika ku gitungwa no ku kintu cose babona+. Vyongeye, ibisagara vyose bashitseko babiha umuriro+.

21 Kandi abagabo ba Isirayeli bari bararahiriye i Mizipa+, bati: “Nta muntu n’umwe muri twebwe azoshingira umukobwa wiwe Benyamini+.” 2 Nuko rero abantu baja i Beteli+, baguma bicaye ng’aho imbere y’Imana y’ukuri+ gushika ku mugoroba; babandanya gushira ijwi hejuru, bararira bimwe bikomeye+. 3 Baza baravuga ngo: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, kubera iki ibi vyashitse muri Isirayeli, umuryango umwe ukabura uyu musi muri Isirayeli+?” 4 Nuko ku musi ukurikira, abantu bavyuka kare bubaka igicaniro ng’aho, baraheza bashikana amashikanwa aturirwa+ be n’amashikanwa y’ugusangira+.

5 Maze bene Isirayeli bavuga bati: “Ni nde mu miryango yose ya Isirayeli ataduze mw’ishengero imbere ya Yehova? Kuko habaye indahiro+ ikomeye ku bijanye n’uwutaduze imbere ya Yehova i Mizipa, igira iti: ‘Ntaze abure kwicwa+.’” 6 Bene Isirayeli batangura kwicuza ku bijanye na Benyamini mwene wabo. Bavuga rero bati: “Uyu musi umuryango umwe waranduwe muri Isirayeli. 7 Tugirire iki abasigaye ku bijanye n’abagore, ko twebwe ubwacu twarahiye+ Yehova yuko tutazobashingira n’umwe mu bakobwa bacu+?”

8 Babandanya kuvuga bati: “Ni uwuhe mu miryango ya Isirayeli utaduze imbere ya Yehova i Mizipa+?” Nuko basanga ata n’umwe yari yaraje mw’ikambi, mw’ishengero, avuye i Yabeshi-gileyadi+. 9 Baharūye abantu, erega, basanga ata mugabo n’umwe ahari mu baba i Yabeshi-gileyadi. 10 Nuko ikoraniro rirungikayo abagabo ibihumbi cumi na bibiri b’intwari kuruta abandi, babategeka bati: “Gende mukubitishe ubugi bw’inkota ababa i Yabeshi-gileyadi, mbere n’abagore n’abana batoyi+. 11 Iki ni co muzogira: Uw’igitsina-gabo wese n’umugore wese yigeze kuryamana n’uw’igitsina-gabo muze mutikize+.” 12 Ariko mu baba i Yabeshi-gileyadi+ basangamwo abakobwa amajana ane b’isugi+ batigeze bahuza ibitsina n’umugabo mu kuryamana na we. Babazana rero kw’ikambi i Shilo+, ahari mu gihugu ca Kanani.

13 Nuko ikoraniro ryose rituma abaja kuvugana na bene Benyamini bari ku rutare rwa Rimoni+, babamenyesha ko ari amahoro. 14 Nuko bene Benyamini baragaruka ico gihe. Maze babaha ba bigeme bari bazigamiye ubuzima mu bagore b’i Yabeshi-gileyadi+; mugabo ntibabaronkera abahagije+. 15 Abantu baricuza ku bijanye na Benyamini+, kuko Yehova yari yatumye haba umukokwe hagati y’imiryango ya Isirayeli. 16 Ku bw’ivyo abagabo b’inararibonye b’ikoraniro bavuga bati: “Tuzogirira iki abagabo basigaye, ku bijanye n’abagore, ko abagore bazimanganijwe muri Benyamini?” 17 Maze bavuga bati: “Hakwiye kuba intoranwa ku bw’abacitse kw’icumu bo muri Benyamini+, kugira ngo umuryango ntuhanagurwe muri Isirayeli. 18 Mugabo twebwe, ntitwemerewe kubaha abagore mu bakobwa bacu, kuko bene Isirayeli barahiye bati: ‘Aravumwe uwuzoha umugore Benyamini+.’”

19 Amaherezo bavuga bati: “Ehe ku mwaka ku mwaka haraba umusi mukuru wa Yehova i Shilo+, ahari mu buraruko bwa Beteli, mu buseruko bw’inzira y’ikirari iduga i Shekemu+ ivuye i Beteli, no mu bumanuko bwa Lebona.” 20 Nuko bategeka bene Benyamini bati: “Gende mubunde mu mirima y’imizabibu. 21 Murereke, maze nimwabona abakobwa b’i Shilo basohotse gutamba+ intambo z’umuzingi, muce muva muri iyo mirima y’imizabibu hanyuma umwe wese yitwarire ku nguvu umugore mu bakobwa b’i Shilo, muheze muje mu gihugu ca Benyamini. 22 Ba se canke basaza babo nibaza kutwitwarira, natwe ntituzobura kubabwira duti: ‘Nimutugirire ubutoni ku neza yabo, kubera ko umwe wese tutamuronkeye umugore biciye ku ntambara+, kuko atari mwebwe mwababihereye bikaba vyotumye mwagirwa n’icaha+.’”

23 Nuko bene Benyamini bagira gutyo nyene, batwara abagore bahwanye n’igitigiri cabo+, babakuye mu bigeme bariko batamba+ bazunguruka, abo banyakuye; hanyuma baragenda, basubira mu ntoranwa yabo maze bubaka ibisagara+, batangura kubibamwo.

24 Maze bene Isirayeli batangura gushwiragira bavuye ng’aho ico gihe, umwe wese aja mu muryango wiwe no ku rugo rwiwe; bava ng’aho baragenda, umwe wese aja ku ntoranwa yiwe+.

25 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyari bibereye mu maso yiwe+.

Canke, “intara yo hasi.”

Ni ukuvuga se wa Akisa.

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Abantu barira.”

Hari abiyumvira ko “itambwe” rivugwa ng’aha ryari itambwe ritoya, ringana nka cm 38, upimye uhereye mu nkokora gushika ku tugufa tw’igipfunsi, aho intoke zitangurira.

Canke, “ku matapi.”

Imvugo y’abasirikare ikoreshwa ku ncoreke zafashwe ku rugamba.

Ijambo ku rindi ni “igihumbi canje.”

Efa yari ingero yangana n’amalitiro 22.

Bisobanura ngo “Yehova ni amahoro.”

Bisobanura ngo “Bayali niyiburanire.”

Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “abavuye mw’imerero ry’itako ryiwe.”

Raba Inyongera ya 21.

Ijambo ku rindi ni “impwemu mbi.”

Ijambo ku rindi ni “bakomeje amaboko yiwe.”

Ijambo ku rindi ni “nabe uwumviriza.”

Ijambo ku rindi ni “mu kiganza canje.”

“Hanze” ni ukuvuga mu yindi miryango.

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Ahantu hakirurutse h’umubangabanga.”

Bisobanura ngo “Isôko ry’uwuhamagara.”

Raba Inyongera ya 21.

Bisobanura ngo “Ikambi ya Dani.”

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika