Malaki
1 Ijambo ryamenyeshejwe:
Ng’iri ijambo Yehova+ yavuze ku vyerekeye Isirayeli biciye kuri Malaki:
2 “Narabakunze+,” ni ko Yehova avuze.
Namwe mwavuze muti: “Wadukunze gute+?”
“Mbega Esawu ntiyari mwene wabo na Yakobo+?”, ni ko Yehova avuze. “Ariko nakunze Yakobo+, 3 Esawu+ na we naramwanse; kandi amaherezo imisozi yiwe nayihinduye igiharabuga+, intoranwa yiwe ndayiha imbwebwe zo mu gahinga+.”
4 “Ko Edomu aguma avuga ngo: ‘Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka twubake ibibanza vyatikijwe,’ ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo* avuze: ‘Bobo bazokwubaka, nanje nsambure+. Kandi ntibazobura kubita “akarere k’ububisha,” babite kandi “abantu Yehova yasutseko imisibo+ gushika igihe kitagira urugero*.” 5 Amaso yanyu azovyibonera, namwe ubwanyu muvuge muti: “Yehova ashimagizwe ku karere ka Isirayeli+.”’”
6 “‘Umwana aratera iteka se+, n’umusuku agatera iteka shebuja wiwe ahambaye+. None nimba ndi so+, iteka ryanje riri hehe+? Kandi nimba ndi Shobuja Ahambaye, ukuntinya+ kuri hehe?’ ni ko Yehova nyen’ingabo ababwiye, yemwe baherezi musuzugura izina ryanje+.
“‘Namwe mwavuze muti: “Izina ryawe twarisuzuguye gute?”’
7 “‘Mu gushikiriza ku gicaniro* canje umukate wanduye+.’
“‘Namwe muti: “Twakwanduje gute?”’
“‘Mu kuba muvuga ngo: “Imeza+ ya Yehova ni ikintu co gusuzugurwa+.” 8 Iyo mushikirije igitungwa gihumye ngo gitangweko ikimazi, muvuga ngo: “Nta kibi kirimwo.” Kandi iyo mushikirije igitungwa gicumbagira canke kirwaye, muvuga ngo: “Nta kibi kirimwo+.”’”
“Enda nuvyegereze buramatari wawe. Mbega yoguhimbarirwa, canke akakwakirana ubuntu?”, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
9 “Enda rero nimutakambire+ Imana*, itugirire ubutoni+. Ivyo vyavuye mu kuboko kwanyu. Mbega hari n’umwe muri mwebwe izokwakirana ubuntu?”, ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
10 “Mbega hoho ni nde muri mwebwe yokwugara imiryango+? Kandi mwebwe ntimwocana umuriro ku gicaniro canje—ivyo ngo mubigire ata co muhawe+. Ntimumpimbara na gatoyi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “n’ishikanwa ryo mu kuboko kwanyu ntirinezera na gatoyi+.”
11 “Kuko kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera*, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+, kandi ahantu hose bazohafumbishiriza umwotsi w’ibimazi+, bashikirize ishikanwa ku bw’izina ryanje, emwe, ituro ridahumanye+; kuko izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
12 “Ariko mwebwe murampumanya+ mu kuvuga ngo: ‘Imeza ya Yehova ni ikintu canduye, kandi icamwa cayo, ari vyo bifungurwa bishirwa kuri yo, ni ikintu co gusuzugurwa+.’ 13 Kandi mwavuze ngo: ‘Ewe muruho uraho+!’, kandi mwatumye bibonwa nk’akanuka,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Mwazanye icatwawe ku nguvu, n’igicumbagira, n’ikirwaye+; egome, mwabizanye ngo bibe ituro. Mbega mubimpaye vyompimbara+?”, ni ko Yehova avuze.
14 “Aravumwe uwukorana urwenge kandi mu busho bwiwe hariyo igitungwa c’ikigabo, akagira indagano hanyuma agashikanira Yehova icononekaye+. Kuko ndi Umwami ahambaye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “kandi izina ryanje rizoba iriteye ubwoba mu mahanga+.”
2 “Ubu rero iri bwirizwa ni mwebwe rihawe, mwa baherezi+. 2 Nimutumviriza+, kandi nimutashira ku mutima+ ivyo guha ubuninahazwa izina ryanje+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nanje sinzobura kubarungikako umuvumo+, mvume imihezagiro yanyu+. Egome, mbere umuhezagiro narawuvumye, kuko mutabishira ku mutima.”
3 “Raba! Kubera mwebwe, ngira mpambarire imbuto yabibwe+, kandi mu maso hanyu nzohasanzaza amayezi, amayezi y’imisi mikuru yanyu; kandi vy’ukuri hazogira uwuyabajanako. 4 Kandi muzobwirizwa kumenya yuko nabarungikiye iri bwirizwa+, kugira ngo isezerano+ nagiranye na Lewi ribandanye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
5 “Isezerano ryanje ryari kumwe na we, isezerano ry’ubuzima n’amahoro+, kandi nagumye ndabimuha, biri kumwe n’ugutinya. Kandi yagumye antinya+; egome, yaracika ivutu kubera izina ryanje+. 6 Itegeko ry’ukuri ryari mu kanwa kiwe+, kandi nta bitagororotse vyaboneka ku minwa yiwe. Yagendanye nanje mu mahoro no mu kugororoka+, kandi yaragaruye benshi barava mw’ikosa+. 7 Kuko iminwa y’umuherezi ari yo ikwiye kugumya ubumenyi, itegeko rikaba ari ryo abantu bakwiye kuronderera mu kanwa kiwe+; kuko ari we ntumwa ya Yehova nyen’ingabo+.
8 “Ariko mwebwe, mwarakebeje muta inzira+. Mwatumye benshi batsitara mu bijanye n’itegeko+. Mwarononye isezerano rya Lewi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. 9 “Emwe, nanje rero nzotuma muba abo gusuzugurwa, mube abo hasi, ku bantu bose+, nk’uko namwe mutagumije inzira zanje, mugabo mukagira nkunzi mu bijanye n’itegeko+.”
10 “Mbega twese ntidufise data umwe+? Mbega Imana yaturemye si imwe+? None ni kubera iki duhemukiranira+, mu guhumanya isezerano rya ba sogokuruza+? 11 Yuda yarahemutse, kandi muri Isirayeli be n’i Yeruzalemu hakozwe ikintu giteye ishishi+; kuko Yuda yahumanije ubweranda bwa Yehova+, ubwo iyo Mana yakunda, kandi yatwaye umukobwa w’imana y’inyamahanga ngo amubere umugeni+. 12 Yehova azorandura mu mahema ya Yakobo uwo wese abikora+, uwuri maso be n’uwishura, be n’uwushikiriza Yehova nyen’ingabo ishikanwa+.”
13 “Iki ni co kigira kabiri mukora, kandi ico bivamwo ng’iki: igicaniro ca Yehova kiradengerezwa amosozi, amarira be n’iminiho, ku buryo ata shikanwa ryongera kurabwa ryiza canke ngo hagire ikintu na kimwe kivuye mu kuboko kwanyu gishimwa+. 14 Namwe mwavuze muti: ‘Kubera iki+?’ Ni kubera iyi mvo: Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe+, uwo wahemukiye, naho ari we mugenzi wawe akaba n’umugore w’isezerano ryawe+. 15 Kandi hariho uwutabikoze, kuko yari afise impwemu yari isigaye. Kandi uwo yarondera iki? Uruvyaro rw’Imana+. Namwe mutegerezwa kwirinda ku bijanye n’agatima mufise*+, kandi ntihagire n’umwe ahemukira umugore wo mu buto bwiwe+. 16 Kuko yanse ukwahukana+,” ni ko Yehova ya Mana ya Isirayeli avuze, “akanka n’uwujuje impuzu yiwe ubukazi+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. “Mutegerezwa kwirinda ku bijanye n’agatima mufise, kandi mutegerezwa kudahemuka+.
17 “Mwaruhije Yehova n’amajambo yanyu+, hanyuma muvuga ngo: ‘Ni gute twamuruhije?’ Ni mu kuba muvuga ngo: ‘Umuntu wese akora ikibi ni mwiza mu maso ya Yehova, kandi mwene abo baramuhimbara+’; canke ngo: ‘Ya Mana y’ubutungane iri hehe+?’”
3 “Ehe ntumye intumwa yanje+, na yo izotunganya inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri+ azoza ku rusengero rwiwe+, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa+ y’isezerano+, iyo muhimbarirwa+. Ehe azoza koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze+.
2 “Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe+, kandi ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka+? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umutyorozi+ be n’isabuni+ y’umumesuzi+. 3 Azokwicara ari nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+, asukure bene Lewi+; kandi azobatosora nk’inzahabu+ n’ifeza, babere Yehova abashikiriza ishikanwa+ mu bugororotsi. 4 Kandi ishikanwa rya Yuda na Yeruzalemu rizoba irihimbara Yehova vy’ukuri+, nko mu misi yahise no mu myaka ya kera cane+.
5 “Kandi nzobegera ku bwo guca urubanza+, mbe icabona cihuta+ mu kwagiriza abapfumu+, n’abarenga ibigo+, n’abarahira ibinyoma+, n’abakorana ubugunge ku bijanye n’ingero y’umucangero+, ku bijanye n’umupfakazi+ no ku bijanye n’impfuvyi*+, be n’abigizayo kavamahanga+, kandi bakaba batantīnye+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
6 “Kuko ndi Yehova; sinahindutse+. Namwe muri bene Yakobo; ntimwaherengeteye+. 7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarakebeje muva ku ngingo nyobozi zanje, ntimwazigumya+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
Namwe mwavuze muti: “Tugaruke gute?”
8 “Mbega umuntu yakuwe mw’ivu yokwambura Imana? Ariko mwebwe muranyambura.”
Namwe mwavuze muti: “Twakwambuye gute?”
“Ni mu bijanye n’ivy’icumi be n’intererano. 9 Uwo muvumo murawumvuma+, jewe mukanyambura, ivyo bigakorwa n’ihanga ryose uko ryakabaye. 10 Nimuzane ivy’icumi+ vyose mu kigega, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+; enda nimungeze muri ivyo+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “murabe ko ntazobagomororera ingomero z’amajuru+, nkabacuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno+.”
11 “Nzohambarira ikiryi ku bwanyu+, kandi ntikizobononera ivyamwa vy’ubutaka, eka n’umuzabibu wo mw’itongo ryanyu ntuzorumba+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
12 “Amahanga yose azobwirizwa kubita abahirwe+, kuko muzocika igihugu c’agahimbare+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
13 “Mwamvuzeko amajambo akomeye+,” ni ko Yehova avuze.
Namwe mwavuze muti: “Ni ibiki twakuvuzeko hagati yacu+?”
14 “Mwavuze ngo: ‘Gukorera Imana nta co bimaze+. Bitwungura iki kuba twaragumije ibwirizwa ryiwe, tukagenda tujonjogoye kubera Yehova nyen’ingabo+? 15 None ubu abita imbere ni bo twita abahirwe+. Vyongeye, abakora ivy’ububisha barubatswe+. Ikigeretseko, baragejeje Imana, ariko baguma bigīra amahoro+.’”
16 Maze abatinya Yehova+ baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza+. Nuko igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe+ ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe+.
17 “Kandi bazocika abanje koko+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “umusi nzobagira inyegu idasanzwe+. Kandi nzobagirira impuhwe nk’uko umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amukorera+. 18 Namwe ntimuzobura kwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha+, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikoreye+.”
4 “Kuko ehe wa musi uriko uraza, umusi waka nk’itanure+, kandi abita imbere bose be n’abakora ivy’ububisha bose bazotegerezwa gucika nk’ibishakara+. Kandi uwo musi uriko uraza uzobarigata koko,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “ntihagire n’umuzi canke agashami ubasigariza+. 2 Kandi mwebwe abatinya izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira koko+, riri n’ugukiza mu mababa yaryo+; namwe muzosohoka vy’ukuri mwikina amatavu nk’inyana zadoheshejwe+.”
3 “Kandi muzohonyangira hasi ababisha, kuko bazocika nk’intumo munsi y’ubworo bw’ibirenge vyanyu ku musi nzogira ico nkoze+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
4 “Nimwibuke rya tegeko rya Musa umusavyi wanje, iryo namutegekeye i Horebu ku vyerekeye Isirayeli yose, ni zo ngingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane*+.
5 “Ehe ntumye kuri mwebwe Eliya umuhanuzi+ imbere y’ukuza kwa wa musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova+. 6 Azogarukana umutima wa ba se ku bana, n’umutima w’abana kuri ba se; kugira ngo simpave nza ngakubita isi vy’ukuri nkayitikiza+.”
(Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya uko vyahinduwe mu kirundi bigarukira aha, bigakurikirwa n’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu)
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “mworoshe mu maso h’Imana.”
Canke “kuva izuba rirashe gushika rirenze.”
Ijambo ku rindi ni “impwemu yanyu.”
Ijambo ku rindi ni “agahungu katagira se.”
Raba Inyongera ya 21.