Ikete ryandikiwe Tito
1 Jewe Paulo, umushumba+ w’Imana akaba n’intumwa+ ya Yezu Kristu hisunzwe ukwizera kw’abatowe+ b’Imana be n’ubumenyi butagira amakosa+ bwerekeye ukuri+ guhuye n’ukwihebera Imana+, 2 hishimikijwe icizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane+, 3 yamara mu bihe vyayo bwite ikaba yarahishuye ijambo ryayo muri ca gikorwa nazezwa+ c’ukwamamaza, kw’itegeko ry’Umukiza wacu+, Imana; 4 ndakwandikiye wewe Tito, umwana wanje+ nyakuri hisunzwe ukwizera dusangiye:
Habe ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data+ no kuri Kristu Yezu Umukiza wacu+.
5 Iki ni co catumye ngusiga i Kirete+: ni ukugira ngo ukosore ibintu vyari n’agahaze wongere ugene+ abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi, nk’uko nabigutegetse+; 6 nimba hari umuntu ata co aregwa+, umugabo w’umugore umwe+, afise abana bemera batagirizwa ubuhumbu canke ngo babe ibigaba+. 7 Kuko umucungezi ategerezwa kuba atagira ico aregwa+ bwa mubwiriza+ w’Imana, atari intagondwa+, adakaza ishavu+, atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, atanohokera inyungu mbi+, 8 ahubwo abe ari umwakiranyi+, uwukunda iciza, aroranye mu muzirikanyi+, agororotse, intahemuka+, yigumya+, 9 agumya ijambo ryo kwizigirwa ku bijanye n’ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore guhimiriza biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukangira+ abayivuguruza.
10 Kuko hariho abantu benshi b’ibigaba, imvuzi z’ibitagira akamaro+, kandi bahenda imizirikanyi y’abandi, canecane bamwe bumira ku kugenyerwa+. 11 Ni nkenerwa kubazivya iminwa, kuko abo bantu nyene baguma batembagaza ingo uko zakabaye+, mu kwigisha ivyo batabwirizwa kwigisha, kugira baronke inyungu mbi+. 12 Umwe muri bo, umuhanuzi wabo bwite, yavuze ati: “Abanyakirete bama ari ababeshi, ni ibikoko biryana+, abakunzi b’inda badashaka gukora.”
13 Iyo ntahe ni iy’ukuri. Ico nyene nigitume uguma ubakangira ubahambarira+, kugira ngo bagire amagara meza+ mu kwizera, 14 batumviriza ibitito+ vy’Abayuda n’amabwirizwa y’abantu+ batera ibitugu ukuri+. 15 Vyose ni ibidahumanye ku bantu badahumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye+ kandi batagira ukwizera+ nta kintu na kimwe kidahumanye, mugabo imizirikanyi yabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima+ birahumanye. 16 Batura icese yuko bazi Imana+, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo+, kubera ko bateye ishishi bakaba n’abagambarazi, bakaba kandi batemewe+ ku bw’igikorwa ciza na kimwe.
2 Ariko weho, ugume uvuga ibintu bibereye inyigisho ngirakamaro+. 2 Abatama+ nibabe abatarenza urugero mu ngeso, badafyina+, baroranye mu muzirikanyi, bafise amagara meza mu kwizera+, mu rukundo, mu kwihangana+. 3 N’abatamakazi+ nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi+ canke abaja b’umuvinyu mwinshi, babe abigisha b’ivyiza; 4 ngo bakebanure abagore bakiri bato bagarure ubwenge kugira bakunde abagabo babo+, bakunde abana babo+, 5 babe abaroranye mu muzirikanyi, abatanduye+, abitwararika ibikorwa vyo mu rugo, abameze neza, abayobokera+ abagabo babo bwite, kugira ngo ijambo ry’Imana ntiritukwe+.
6 Guma uhimiriza n’abasore nyene babe abaroranye mu muzirikanyi+, 7 muri vyose werekane ko uri akarorero k’ibikorwa vyiza+; werekane ko utagira amahinyu+ mu nyigisho yawe+, ko udafyina, 8 ko ufise imvugo imeze neza idashobora kugira ico igawa+; kugira ngo umuntu ari ku ruhande ruturwanya amaramare, atagira ikintu na kimwe c’agahomerabunwa atuvugako+. 9 Abashumba+ nibayobokere ba shebuja babo muri vyose+, kandi babashimishe rwose, batavuga ngo na bo bavuge+, 10 batiba+, ahubwo berekane ukudahemuka kwiza bimwe bishitse+, kugira ngo basharize inyigisho y’Umukiza wacu+, Imana, muri vyose.
11 Kuko bwa buntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana buzanira ubukiriro+ abantu b’uburyo bwose+ bwerekanywe+, 12 bukatwigisha kwikunkumura ukutibanga Imana+ n’ivyipfuzo vy’isi+ no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana+ muri iki gihe*+, 13 mu gihe turindiriye ca cizigiro c’ubuhirwe+ n’ukwigaragaza kuninahaye+ kwa ya Mana ikomeye n’ukw’Umukiza wacu Kristu Yezu, 14 uwitanze+ ku bwacu kugira aturokore+ mu bugarariji bw’uburyo bwose yongere yihumanurire+ igisata yiharije+, kigirira umwete ibikorwa vyiza+.
15 Guma uvuga ivyo bintu, uhimiriza, ukangira n’ububasha bwose bwo gutegeka+. Ntihagire umuntu n’umwe yigera agusuzugura+.
3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera+ no kugamburukira intwaro n’abakuru bwa batware+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose+, 2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abakunda kurwana+, kuba abagira ibitegereka+, berekana ubwitonzi bwose ku bantu bose+. 3 Kuko na twebwe kera twari imburabwenge, abagambarazi, tuzimizwa, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe, dushishikara kugendera mu bubi no mu gashari, turi abo kuzinukwa, twankana+.
4 Ariko igihe ubuntu+ n’urukundo Imana Umukiza wacu+ ifitiye umuntu vyerekanwa+, 5 ntiyadukijije bivuye ku bikorwa+ na bimwe vy’ubugororotsi twari twarakoze+, ahubwo yadukijije bivuye ku mbabazi ziwe+, biciye mu kwuhagirwa+ kwadushikanye ku buzima+ no mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+. 6 Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+, 7 kugira ngo, tumaze kwitwa abagororotsi+ bivuye ku buntu ata wari abukwiriye bw’uwo+, tube ba samuragwa+ nk’uko icizigiro c’ubuzima budahera kiri+.
8 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa+, kandi ku vyerekeye ivyo bintu ndipfuza ko wama ushikamye mu vyo wemeza, kugira ngo abemeye Imana bagumize imizirikanyi yabo ku gukora ibikorwa vyiza+. Ivyo ni vyiza kandi ni ngirakamaro ku bantu.
9 Mugabo uzibukire ibibazo vy’ubupfu+ be n’ivy’amamuko+ n’ugushihana+ n’indwano ku bijanye n’Itegeko+, kuko ata co vyungura kandi bitagira akamaro. 10 Nayo ku vyerekeye umuntu aremesha umuce+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura ubwa mbere n’ubwa kabiri+; 11 uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yitsindisha+.
12 Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose uze iwanje i Nikopoli, kuko ari ho nahisemwo kumara urushana+. 13 Witwararike kuronsa Zena wa muhanga mw’Itegeko na Apolo ivyo bakeneye ku bw’urugendo rwabo, ngo ntihagire ico bakena+. 14 Mugabo abacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza kugira ngo bironse ivyo bakeneye+ vyihutirwa, ngo ntibabe ibirumbirane+.
15 Abari kumwe nanje bose barakuramutsa+. Undamukirize abanyiyumvamwo bari mu kwizera.
Ubuntu ata wari abukwiriye bubane namwe mwese+.
Canke, “ntungamagara.”
Raba Inyongera ya 21.