ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Yakobo 1:1-5:20
  • Yakobo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakobo
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Yakobo

Ikete rya Yakobo

1 Jewe Yakobo+, umushumba+ w’Imana n’uw’Umukama Yezu Kristu, ndandikiye mwebwe miryango cumi n’ibiri+ yasabagiye+:

Ndabaramukije!

2 Mubibone nk’akanyamuneza gusa, bene wacu, igihe muhuye n’ibigeragezo bitari bimwe+, 3 muzi yuko ako gaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu kazana ukwihangana+. 4 Mugabo ukwihangana nikunonosore igikorwa cakwo, kugira mube abanonosoye+ kandi mutagira agahonzi muri vyose, mudahajije mu kintu na kimwe+.

5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi+, nagume abusaba Imana+, kuko itanga cane kuri bose ata gutera imirarwe+; kandi azobuhabwa+. 6 Mugabo nagume asaba+ yizeye, adakekeranya na gatoyi+, kuko uwukekeranya ameze nk’umupfunda w’ikiyaga ukubebwa n’umuyaga+ kandi ukazungazungishwa irya n’ino. 7 Nkako, uyo muntu ntiyibwire ko hari ico azohabwa na Yehova+; 8 ni umuntu adafata ingingo+, adashikamye+ mu nzira ziwe zose.

9 Mugabo umuvukanyi yiyorosha niyiratire ugushirwa hejuru kwiwe+, 10 n’umutunzi+ yiratire uguteterezwa kwiwe, kubera azohita nk’ishurwe ryo mu vyatsi+. 11 Kuko izuba riseruka n’ubushuhe bwaryo buturira hanyuma rikumisha nya vyatsi, maze ishurwe ryavyo rigahunguruka, ubwiza bwavyo bw’inyuma na bwo bugahera. N’umutunzi nyene azokabirana mu nzira ziwe z’ubuzima+.

12 Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo+, kuko niyashimwa azoronka rwa rugori rw’ubuzima+ Yehova yasezeranira ababandanya kumukunda+. 13 Iyo umuntu ari mu kigeragezo+, ntavuge ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha. 14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite+. 15 Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro+; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu+.

16 Ntimuzimizwe+, bene wacu bakundwa. 17 Ingabirano nziza yose+ be n’impano yose itagira akanenge iva hejuru+, kuko imanuka iva kuri Se w’imico yo mw’ijuru+, kandi kuri we ntihaba uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu+. 18 Kubera ko yabigomvye+, yaratuvyarishije ijambo ry’ukuri+, kugira ngo tube umushuzo+ kanaka w’ibiremwa vyiwe.

19 Mumenye ibi, bene wacu bakundwa. Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga+, atebe kuraka+; 20 kuko uburake bw’umuntu budashitsa ubugororotsi bw’Imana+. 21 Ku bw’ivyo, mwiyambure umucafu wose be na ca kintu kidakenewe, ari co bubi+, hanyuma mwemerane ubwitonzi uguterwa kwa rya jambo+ rishobora gukiza ubuzima bwanyu+.

22 Ariko mube abashira mu ngiro rya jambo+, atari abumva gusa, mwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo+. 23 Kuko nimba umuntu ari uwumva rya jambo, ntabe uwushira mu ngiro+, uwo ameze nk’umuntu araba mu cirore mu maso hiwe yavukanye. 24 Kuko yiraba agaca yigira, buno nyene agaca yibagira uwo ari. 25 Mugabo uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge+ ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atabaye uwumva akibagira, mugabo akaba uwukora igikorwa+, azoba ahiriwe+ mu kubikora.

26 Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo+ yamara ntajiginyike* ururimi rwiwe+, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite+, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze+. 27 Insengo ityoroye+ kandi idahumanye+ ku Mana yacu ikaba na Data ni iyi: kwitaho impfuvyi+ n’abapfakazi+ mu makuba yabo+, no kuguma wirinze ntutosekazwe+ n’isi+.

2 Bene wacu, mbega mugira ngo muriko muragumya ukwizera kw’Umukama wacu Yezu Kristu, we buninahazwa bwacu+, mu kugira nkunzi+? 2 Kuko, iyo umuntu w’impeta z’inzahabu ku ntoke kandi yambaye ivyambarwa vyakaka yinjiye mw’ikoraniro+ ryanyu, mugabo umworo yambaye ivyambarwa bicafuye na we akinjira+, 3 yamara mukaraba ryiza+ umwe yambaye ivyambarwa vyakaka, mukavuga muti: “Wewe icara ng’aha mu kibanza ciza,” hanyuma mukabwira nya mworo ngo: “Wewe guma uhagaze,” canke ngo: “Icara harya munsi y’intebe y’ibirenge vyanje,” 4 murasumbanya abantu muri mwebwe+, kandi mwacitse abacamanza+ bapfundika ingingo mbi+, si ko none?

5 Nimwumvirize, bene wacu bakundwa. Mbega Imana ntiyatoye aboro+ mu vy’isi ngo babe abatunzi+ mu kwizera na ba samuragwa b’ubwami, ubwo yasezeraniye abayikunda+? 6 Mugabo mwebwe mwaratetereje umworo. Mbega abatunzi si bo babahahaza+, vyongeye bakababuruta babajana imbere y’amasentare+? 7 Mbega si bo barogota+ kuri rya zina ryiza mwitirirwa+? 8 Nimba rero mushitsa neza rya tegeko ry’i bwami+ nk’uko icanditswe kivuga, ngo: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+,” muriko mugira neza cane. 9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko mukora igicumuro, kuko mukangirwa n’itegeko+ nk’abarenga itegeko.

10 Kuko uwo wese yubahiriza Itegeko ryose mugabo agatirimuka mu kintu kimwe, aba ayacumuyeko yose+. 11 Kuko uwavuze ati: “Ntukarenge ibigo+,” yavuze kandi ati: “Ntukice+.” Nimba rero utarenga ibigo mugabo ukica, uba ucitse uwurenga itegeko. 12 Mugume muvuga kandi mukora nk’abazocirwa urubanza n’itegeko ry’igisata c’abantu bidegemvya+. 13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi zirihaya ku rubanza zigina intsinzi.

14 Bimaze iki ga bene wacu, nimba hari uwuvuga ko afise ukwizera+ mugabo adafise ibikorwa+? Mbega ukwo kwizera kurashobora kumukiza+? 15 Nimba mwene wacu canke mushiki wacu ari gusa kandi akenye ibifungurwa bikwiranye n’umusi+, 16 yamara uwo muri mwebwe akamubwira ati: “Genda amahoro, ugume ususurutse kandi urya neza,” mugabo ntimumuhe ivyo umubiri wiwe ukeneye, bimaze iki+? 17 N’ukwizera nyene, iyo kudafise ibikorwa+, ubwakwo kuba gupfuye.

18 Yamara rero, hari uwovuga ati: “Wewe ufise ukwizera, nanje mfise ibikorwa. Nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje nkwereke ukwizera kwanje biciye ku bikorwa vyanje+.” 19 Uremera ko hari Imana imwe+, si ko? Ugira neza cane. Yamara amadayimoni* na yo aravyemera kandi agahinda agashitsi+. 20 Mugabo urashaka kumenya ga yewe muntu ata co urimwo, yuko ukwizera kutagira ibikorwa ata co gukora? 21 Mbega Aburahamu data+ ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana Izahaki umuhungu wiwe ku gicaniro*+? 22 Urabona ko ukwizera kwiwe kwakoranye n’ibikorwa vyiwe kandi biciye ku bikorwa vyiwe ukwizera kwiwe kukagirwa ukutagira akanenge+, 23 kandi icanditswe cararangutse, kimwe kivuga ngo: “Aburahamu yizeye Yehova, abiharurwako nk’ubugororotsi+,” araheza yitwa “umugenzi wa Yehova+.”

24 Murabona ko umuntu yitwa umugororotsi+ bivuye ku bikorwa+, bitavuye ku kwizera kwonyene+. 25 Muri ubwo buryo nyene, mbega Rahabu+ wa mumaraya we ntiyiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira+? 26 Egome, nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye+, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye+.

3 Ntimukwiye kuba abigisha muri benshi+, bene wacu, kuko muzi yuko tuzocirwa urubanza ruremereye kuruta+. 2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose. 3 Iyo dushize imijiginya+ mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atugamburukire+, turayobora n’umubiri wayo wose. 4 Raba! Mbere n’amato, naho ari manini cane kandi akajanwa n’imiyaga ikomeye, ayoborwa n’ingafe+ ntoyi cane akaja aho uwufashe ikinyongesho agomba.

5 N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi yamara kakiyemera bikomeye+. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira ngo umuntu adomeke ishamba rinini cane! 6 Erega, ururimi ni umuriro+. Ururimi rugize ukutagororoka kungana isi mu bihimba vyacu, kuko rutosekaza umubiri+ wose rukadomeka ikurudumu y’ubuzima bwo kw’isi, na rwo rukadomekwa na Gehena. 7 Kuko ubwoko bwose bw’ibikoko hamwe n’inyoni n’ibikwega inda hasi n’ibiremwa vyo mu mazi bugundwa, kandi bwaragunzwe n’abantu+. 8 Mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda. Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica+. 9 Turaruhezagirisha Yehova+, umwe Data+, yamara kandi tukaruvumisha+ abantu babayeho “mw’ishusho y’Imana+.” 10 Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n’umuvumo.

Ntibibereye, bene wacu, ko ivyo bintu bibandanya kuba gutyo+. 11 Mbega isôko+ ryotuma mu mbizi imwe hadudubiza ibisosa n’ibirura? 12 Bene wacu, mbega igiti c’umusukoni coshobora kwama imyelayo canke umuzabibu ukama insukoni+? Eka n’amazi y’umunyu ntashobora kuvamwo amazi asosa.

13 Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe+ ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi. 14 Ariko nimba mufise ishari ry’umururazi+ n’agatima k’amahane+ mu mitima yanyu, ntimube mwiyemera+ mwongera mubeshera ukuri+. 15 Ubwo si ubukerebutsi bumanuka buvuye hejuru+, ahubwo ni ubwo kw’isi+, bw’ibikoko, bw’amadayimoni+. 16 Kuko aho ishari+ n’agatima k’amahane biri, ari ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose+.

17 Mugabo ubukerebutsi+ buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye+, maze bukaba ubw’amahoro+, bugira ibitegereka+, bugabirije kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibusobanura abantu mu kugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+. 18 Vyongeye, urubuto rw’icamwa+ c’ubugororotsi+ rubibwa mu mahoro+ ku bariko baremesha amahoro+.

4 Intambara ziva ku rihe sôko kandi indwano ziva ku rihe sôko muri mwebwe? Mbega ntiziva kuri iri sôko+: ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri biguma birwana mu bihimba vyanyu+? 2 Muripfuza, yamara ntimuronka. Mubandanya kwica+ no kugira umwina+, yamara ntimushobora kuronka. Mubandanya kurwana+ no kugira intambara. Ntimuronka kuko mudasaba. 3 Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi+, kugira mubimarire ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri+.

4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+. 5 Canke mwibaza yuko icanditswe kivugira ubusa ngo: “Impwemu+ icumbitse muri twebwe iguma icambirwa ibintu ibigiranye agatima k’ishari”? 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”

7 Muyobokere+ Imana rero; mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+. 8 Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Mukarabe iminwe yanyu, mwebwe abacumuzi+, kandi mutyorore imitima yanyu+, mwebwe abadafata ingingo+. 9 Nimwemere mugire amagorwa, mugandare, murire+. Agatwengo kanyu nigahinduke ikigandaro, n’akanyamuneza kanyu gahinduke ukujonjogora+. 10 Mwicishe bugufi mu maso ya Yehova+, na we azobashira hejuru+.

11 Mureke kuvuga nabi bagenzi banyu, bene wacu+. Uwuvuga nabi mwene wabo canke akamucira urubanza+ aba avuze nabi itegeko kandi akaba aciriye urubanza itegeko. Nimba rero ucira urubanza itegeko, ntuba uri uwukora ivy’itegeko, ahubwo uba uri umucamanza+. 12 Uwushinga amategeko akaba n’umucamanza+ ahari ni umwe, ari we ashoboye gukiza no guhonya+. Mugabo wewe, uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe+?

13 Umve rero, mwebwe abavuga ngo: “Uno musi canke ejo tuzogira urugendo mu gisagara kanaka tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+,” 14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+. 15 Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: “Nimba Yehova abigomba+, tuzobaho, dukore iki canke kiriya+.” 16 Mugabo ubu murirata mu vyo mwiyemeramwo+. Ukwishima mwene ukwo kwose ni kubi. 17 Nimba rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore+, bimubera igicumuro+.

5 Ehe rero yemwe batunzi+, nimurire, muborogeshwe n’amagorwa agira abazeko+. 2 Ubutunzi bwanyu buraboze, n’impuzu zanyu zo hejuru ziriwe n’udukoko+. 3 Inzahabu n’ifeza vyanyu bimazwe n’ingese, kandi ingese yavyo izobabera nk’intahe ibagiriza kandi izorya inyama zanyu. Ikintu kimeze nk’umuriro+ ni co mwarundanije+ mu misi ya nyuma+. 4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*. 5 Mwibereyeho kw’isi mu bihinda kandi mwihaye ibiryohera umubiri+. Mwadoheje imitima yanyu ku musi wo gukererwa+. 6 Mwaciriye rubi umugororotsi, muramwica. None ntabarwanya+?

7 Mwihangane rero, bene wacu, gushika ku kuhaba+ kw’Umukama. Raba! Umurimyi aguma arindiriye ivyamwa vy’agaciro vy’isi, akihangana ku bijanye na vyo gushika aronse imvura ya kare n’imvura yo hanyuma+. 8 Namwe nyene mwihangane+; mushikamishe imitima yanyu, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje+.

9 Ntimunihagire mugirira ishavu bagenzi banyu, bene wacu, kugira ngo ntimucirwe urubanza+. Raba! Umucamanza ahagaze imbere y’imiryango+. 10 Bene wacu, ku bijanye n’ukwiyumanganya mu mibabaro+ n’ukwihangana+, mufatire akarorero+ ku bahanuzi+, abavuze mw’izina rya Yehova+. 11 Raba! Abihanganye tubita abahirwe+. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova+, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi+.

12 Mugabo hejuru ya vyose, bene wacu, mureke kurahira, emwe, kwaba ukurahira ijuru canke kurahira isi canke iyindi ndahiro+. Mugabo Ego yanyu ibe Ego, Oya yanyu na yo, Oya, ngo ntimugibweko n’urubanza+.

13 Hoba hari uwuriko arihanganira imibabaro muri mwebwe? Nashishikare gusenga+. Hoba hari uwunezerewe? Naririmbe amazaburi+. 14 Hoba hari uwurwaye muri mwebwe+? Nahamagare abagabo b’inararibonye+ b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta+ mw’izina rya Yehova. 15 Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira+, kandi Yehova azomuhagurutsa+. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa+.

16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+. 17 Eliya yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva+, yamara mw’isengesho yarasavye Imana ngo imvura ntigwe+; kandi ntiyaguye kuri ico gihugu mu myaka itatu n’amezi atandatu. 18 Kandi yarongeye gusenga, maze ijuru ritanga imvura, igihugu na co gitanga ivyamwa vyaco+.

19 Bene wacu, hagize uwo muri mwebwe azimizwa agata ukuri hanyuma uwundi akamugarura+, 20 mumenye yuko uwugaruye umucumuzi akava mu buzimire+ bw’inzira yiwe azokiza ubuzima bwiwe urupfu+ kandi azopfuka ibicumuro indiri+.

Twisunze ikigiriki, ni nka kurya babohesha ifarasi utwuma mu kanwa mu kuyiyobora.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika