Ikete rya Mbere rya Petero
1 Jewe Petero, intumwa+ ya Yezu Kristu, ndabandikiye mwebwe ingenzi+ zasabagiye+ i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya+, muri Aziya n’i Bitiniya, mwebwe abatowe+ 2 hisunzwe ukumenya imbere y’igihe kw’Imana ari yo Data+, mu kwezwa n’impwemu+, kugira ngo bagamburuke kandi bamijagirwe+ amaraso ya Yezu Kristu+:
Ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro vyongerezwe kuri mwebwe+.
3 Hahezagirwe ya Mana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu+, kuko yaduhaye ivuka rishasha+ nk’uko imbabazi zayo nyinshi ziri, ngo tugire icizigiro kizima+ biciye kw’izuka+ rya Yezu Kristu mu bapfuye, 4 ngo turonke intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana+. Muyibikiwe mw’ijuru+, 5 mwebwe abariko bazigamwa n’ububasha bw’Imana biciye ku kwizera+ ku bw’ubukiriro+ buteguriwe guhishurwa+ mu gihe ca nyuma+. 6 Ico kintu murakinezererwa cane, naho mu kanya gato muri iki gihe ari ngombwa ko mutuntuzwa n’ibigeragezo bitari bimwe+, 7 kugira ngo agaciro kagejejwe k’ukwizera kwanyu+, kamwe karusha agaciro inzahabu ishira naho isuzumishwa umuriro ikarama+, kazosangwe ari imvo y’ugushimagizwa n’ubuninahazwa n’iteka kw’ihishurwa+ rya Yezu Kristu. 8 Naho mutigeze mumubona, muramukunda+. Naho mutamubona muri iki gihe, ntikibuza yuko mumwizera kandi mukanezerwa cane akanyamuneza katavugwa kandi kaninahajwe, 9 kuko muronka iherezo ry’ukwizera kwanyu, ubukiriro bw’ubuzima bwanyu+.
10 Ku vyerekeye ubwo bukiriro nyene, itohoza rigiranywe ubwira be n’ubushakashatsi bwitondewe+ vyaragizwe n’abahanuzi bavuze ubuhanuzi+ ku vyerekeye ubuntu ata wari abukwiriye mwagenewe+. 11 Bagumye batohoza ikiringo nyezina+ canke ubwoko bw’ikiringo impwemu+ yari muri bo yariko yerekana ku vyerekeye Kristu+, igihe yashinga intahe imbere y’igihe ku vyerekeye imibabaro ibikiwe Kristu+ no ku vyerekeye ubuninahazwa+ bwari kuyikurikira. 12 Barahishuriwe yuko bariko bagabura, atari ku bwabo+, mugabo ku bwanyu, ibintu ubu mwamenyeshejwe+ biciye ku babamenyesheje inkuru nziza bafise impwemu nyeranda+ yarungitswe ivuye mw’ijuru. Ivyo bintu nyene abamarayika baripfuza kuvyihweza bitonze+.
13 Ku bw’ico, mutubike imizirikanyi yanyu ku bw’igikorwa+, muzigame ubwenge bwanyu rwose+; mushingire icizigiro canyu ku buntu ata wari abukwiriye+ muzozanirwa igihe c’ihishurwa+ rya Yezu Kristu. 14 Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa+ nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera mu kutamenya kwanyu vyari, 15 mugabo, nk’uko wa Mweranda yabahamagara ari, namwe ubwanyu mube beranda mu ngeso zanyu zose+, 16 kuko vyanditswe ngo: “Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda+.”
17 Ikigeretseko, nimba mwambaza Data wa wundi aca urubanza ata nkunzi+ nk’uko igikorwa c’umwe wese kiri, nimugendane ugutinya+ mu gihe muri ba kavamahanga+. 18 Kuko muzi yuko ibintu vyononekara+, ifeza canke inzahabu, atari vyo mwarokojwe+ mukava mu burumbirane bw’ingeso zanyu mwahawe na ba sogokuruza banyu mu buryo bw’imigenzo. 19 Ahubwo mwarokojwe amaraso y’agaciro+, nk’ay’umwagazi w’intama utagirako ikirabagu kandi utagirako agatosi+, emwe, aya Kristu+. 20 Ego ni ko, yamenywe imbere y’igihe, imbere y’ishingwa+ ry’isi, mugabo yashizwe ahabona kw’iherezo ry’ibihe ku bwa mwebwe+ 21 abemera Imana biciye kuri we+, imwe yamuzura mu bapfuye+ ikamuha ubuninahazwa+; kugira ngo ukwizera kwanyu n’icizigiro canyu bibe mu Mana+.
22 Ubu ko mwatyoroye+ ubuzima bwanyu biciye ku kugamburukira ukuri, bikavamwo ukwiyumvamwo abavukanyi kutagiramwo ubwiyorobetsi+, mukundane cane bivuye ku mutima+. 23 Kuko mwahawe ivuka rishasha+, bidaciye ku rubuto rurondoka+ rubora+, mugabo biciye ku rutabora+, biciye kw’ijambo+ rya ya Mana nzima kandi yamaho+. 24 Kuko “ibiri n’umubiri vyose bimeze nk’ivyatsi, kandi ubuninahazwa bwavyo bwose bumeze nk’ishurwe ryo mu vyatsi+; ivyatsi biruma, nya shurwe na ryo rigahunguruka+, 25 mugabo ijambo rya Yehova ryamaho ibihe vyose+.” Erega, iryo ni ryo “jambo+” mwamenyeshejwe+ ry’inkuru nziza.
2 Nuko, mwiyambure ububi+ bwose n’ubuhendanyi bwose n’ubwiyorobetsi n’inzigo n’ubwoko bwose bw’ukwambika ibara abandi+, 2 kandi nka kurya kw’inzoya zikivuka+, nimurondere gucambirwa amata atavanze+ ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure mushikire ubukiriro+, 3 mukire kuba mwarahonjeje yuko Umukama ari umunyabuntu+.
4 Mu kuza kuri we nk’abaza kw’ibuye rizima+ ryatawe+ n’abantu+ koko, mugabo rikaba ari iryatowe n’Imana kandi ry’agaciro kuri yo+, 5 namwe ubwanyu nk’amabuye mazima, muriko murubakwa ngo mube inzu y’impwemu+ kugira ngo mucike ubuherezi bweranda, ngo mushikane ibimazi vyo mu buryo bw’impwemu+ vyemerwa ku Mana biciye kuri Yezu Kristu+. 6 Kuko Icanditswe kivuga ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye, iryatowe, ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka, ry’agaciro; kandi nta n’umwe aryizera azogenda ateterewe+.”
7 Ni uw’agaciro rero kuri mwebwe, kuko muri abemera; mugabo ku batemera, “rya buye nyene abubatsi bataye+ ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+,” 8 riba n’“ibuye ritsitaza n’igitandara kigwisha+.” Abo batsitara kuko bagambararira rya jambo. Ico nyene ni co kandi bagenewe+. 9 Mugabo mwebwe muri “ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda+, igisata c’inyegu yiharijwe+, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza+” z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wiwe w’agatangaza+. 10 Kuko kera mutari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana+; mwari abatari baragiriwe imbabazi, mugabo ubu muri abagiriwe imbabazi+.
11 Bakundwa, ndabahimiriza nka ba kavamahanga n’ingenzi+ ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri+, ari na vyo nyene biguma birwanya ubuzima+. 12 Mugumane ingeso nziza mu mahanga+, kugira ngo mu kintu babavugamwo nabi nk’inkozi z’ibibi, bivuye ku bikorwa vyanyu vyiza+ bibonera, baninahaze Imana ku musi w’igendura ryayo+.
13 Ku bw’Umukama, muyobokere+ ikiremwa-muntu cose+: kwaba ukuyobokera umwami+ nka we mukuru 14 canke ba buramatari nk’abarungitswe na we kugira ngo bahane inkozi z’ikibi, mugabo bashimagize abakora iciza+. 15 Kuko uku ari ko ukugomba kw’Imana kuri, kugira ngo mu gukora iciza muzivye amajambo y’ukutamenya y’abantu b’imburabwenge+. 16 Mube nk’abantu bidegemvya+, yamara mufise umwidegemvyo wanyu, atari nk’igitwikiro co gupfuka ububi+, mugabo nk’abashumba b’Imana+. 17 Mutere iteka abantu b’uburyo bwose+, mukunde umuryango wose w’abavukanyi+, mutinye Imana+, mutere iteka umwami+.
18 Abakozi bo mu nzu nibayobokere+ ba shebuja mu gutinya kwose kubereye+, atari gusa ku bameze neza kandi bagira ibitegereka, ahubwo no ku bagoye gushimisha. 19 Kuko nimba umuntu arindirako mu bintu bituntuza kandi akababazwa ku karenganyo arondera kugira ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana, ico ni ikintu gishimwa n’Imana+. 20 Kuko, mwokwihaya iki nimba mucumura mugakubitwa yamara mukavyihanganira+? Mugabo nimba mukora iciza mukababazwa+ yamara mukavyihanganira, ico ni ikintu gishimwa ku Mana+.
21 Nkako, iyo nzira ni yo mwahamagariwe, kuko na Kristu yababajwe ku bwanyu+, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe+. 22 Nta gicumuro yakoze+, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe+. 23 Igihe yatukwa+, ntiyasubizayo igitutsi+. Igihe yababazwa+, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha umwe+ aca imanza mu bugororotsi. 24 We ubwiwe yarikoreye ibicumuro vyacu+ mu mubiri wiwe bwite ku giti+, kugira ngo tuvavanure n’ibicumuro+ hanyuma tubereho gukora ivy’ubugororotsi. Kandi “mwakijijwe biciye ku bisebe vyiwe+.” 25 Kuko mwari nk’intama, muriko murazimira+; ariko ubu mwaragarutse kuri wa mwungere+ akaba n’umucungezi w’ubuzima bwanyu.
3 Namwe bagore, ni kwo kw’ukwo+, muyobokere+ abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira+ rya jambo, bagondozwe+ ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo+, 2 kubera biboneye ingeso zanyu zitanduye+ ziri kumwe n’icubahiro kigera kure. 3 Kandi ugushaza kwanyu ntikube ukwo gutsiba imishatsi+ kw’inyuma be n’ukwo kwambara udusharizo tw’inzahabu+ canke ukwambara impuzu zo hejuru, 4 ahubwo kube wa muntu yihishije+ wo mu mutima mu vyambarwa bitabora+ vy’umutima utekereje kandi witonda+, ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana. 5 Kuko ukwo nyene ari ko kera abagore beranda bari bizeye Imana bishariza, bakayobokera abagabo babo bwite, 6 nk’uko Sara yagamburukira Aburahamu, akamwita “umukama+” wiwe. Namwe mwacitse abana biwe, mukire kuguma mukora iciza mudatinya ikintu na kimwe gica ivutu+.
7 Namwe bagabo, ni kwo kw’ukwo+, mubandanye kubana na bo mwisunze ubumenyi+, mubatera iteka+ nk’abaritera icombo kirushirije kuba goyigoyi, icombo kigore, kuko namwe musangiye na bo kuba ba samuragwa+ ba bwa butoni ata wari abukwiriye bw’ubuzima, kugira ngo amasengesho yanyu ntatangirwe+.
8 Ubwa nyuma, mwese muhuze umuzirikanyi+, mugire impuhwe, mwiyumvemwo abavukanyi, mugire impuhwe z’ikibabarwe+, mwicishe bugufi mu muzirikanyi+, 9 ata kwishura ikibi ku kindi+ canke igitutsi ku kindi+, ahubwo muhezagire+, kuko mwahamagariwe iyo nzira, kugira ngo mutorane umuhezagiro.
10 Kuko handitswe ngo: “Uwushaka gukunda ubuzima no kubona imisi myiza+, narinde ururimi rwiwe+ ikibi n’iminwa yiwe ayirinde kuvuga ivy’ubuhendanyi+, 11 mugabo nahindukire areke ikibi+ akore iciza; narondere amahoro ayakurikirane+. 12 Kuko amaso+ ya Yehova ari ku bagororotsi, n’amatwi yiwe akaba ku gutakamba kwabo+; mugabo amaso ya Yehova arwanya abakora ibintu bibi+.”
13 Mu vy’ukuri, ni nde muntu azobagirira nabi nimba mufitiye umwete iciza+? 14 Mugabo naho mwobabara muhorwa ubugororotsi, muba muhiriwe+. Ariko kirya batinya mwebwe ntimugitinye+, eka kandi ntimuhagarike umutima+. 15 Mugabo mweze Kristu bwa Mukama mu mitima yanyu+, mwame mwiteguriye kwiburanira+ imbere y’umuntu wese abasavye impamvu y’icizigiro kiri muri mwebwe, mugabo mubigirana ubwitonzi+ n’icubahiro kigera kure.
16 Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza+, kugira ngo mu kintu nyene muvugwamwo nabi, abatyoza ingeso nziza zanyu mu bijanye na Kristu+ bamaramare+. 17 Kuko vyiza ari ukubabazwa muhorwa ko muriko mukora iciza+, nimba ari vyo ukugomba kw’Imana gushaka, aho guhorwa ko muriko mukora ikibi+. 18 Erega, na Kristu yapfuye rimwe rizima kubera ibicumuro+, umuntu w’umugororotsi apfira abatari abagororotsi+ kugira ngo abajane ku Mana+, yicwa mu mubiri+ mugabo agirwa muzima mu mpwemu+. 19 Muri iyo mero kandi yarigiriye aramamaza ku mpwemu ziri mw’ibohero+, 20 izari zagambaraye kera+ hamwe ukwihangana kw’Imana+ kwari kurindiriye mu misi ya Nowa, igihe bwa bwato bwariko burubakwa+, ubwo abantu bakeyi, ni ukuvuga abantu umunani, bakirijwemwo biciye mu mazi+.
21 Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza+, ni ukuvuga ibatisimu (atari ugukura umucafu w’umubiri, mugabo ugusaba Imana ijwi ryo mu mutima ryiza+), biciye kw’izuka rya Yezu Kristu+. 22 Uyo ari iburyo bw’Imana+, kuko yigiriye mw’ijuru; kandi abamarayika+ n’ubukuru n’ububasha yarabihawe ngo abiganze+.
4 Rero, ko Kristu yababajwe mu mubiri+, namwe nyene mwambare nk’ikirwanisho nya gatima nyene+; kuko umuntu ababajwe mu mubiri aba avavanuye n’ibicumuro+, 2 kugira ngo abeho igihe asigaje mu mubiri+, atakibaho kugira ngo ashitse ivyipfuzo vy’abantu, ahubwo kugira ngo ashitse ukugomba kw’Imana+. 3 Kuko igihe+ carenganye gihagije c’ukuba mwarakoze ukugomba kw’amahanga+ igihe mwagendera mu bikorwa vy’ubushirasoni*+, mu nambu zikomeye, mu kunywa umuvinyu birenze urugero+, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa, no mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’ikizira+. 4 Kubera ko mutabandanya kwiruka hamwe na bo muri iyo nzira muja mu rushanga rumwe rw’ubuhumbu+, barazazanirwa bakabandanya kubatuka+. 5 Mugabo abo bantu bazogira ico babazwa n’umwe+ yiteguriye gucira urubanza abazima n’abapfuye+. 6 Nkako, ico ni co catumye inkuru nziza imenyeshwa no ku bapfuye+, kugira ngo bacirwe urubanza ku bijanye n’umubiri nk’uko abantu babona ibintu+, mugabo babeho ku bijanye n’impwemu+ nk’uko Imana ibona ibintu.
7 Mugabo iherezo ry’ibintu vyose riregereje+. Mube abaroranye mu muzirikanyi+ rero, kandi mugume murikanuye ku bw’amasengesho+. 8 Hejuru ya vyose, mugiriranire urukundo rwinshi+, kuko urukundo rupfuka ibicumuro indiri+. 9 Mwakirane ata kwidoga+. 10 Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe+. 11 Nimba hari uwuvuga, navuge nk’aho yoba avuga amajambo meranda+ y’Imana; nimba hari uwukorera abandi+, nakore nk’aho abihabwa n’inkomezi Imana itanga+; kugira ngo muri vyose Imana ininahazwe+ biciye kuri Yezu Kristu. Ubuninahazwa+ n’ubushobozi ni ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen.
12 Bakundwa, ntimuzazanirwe n’umuriro waka muri mwebwe, uwuriko ubashikira ku bw’ukugeragezwa+, nk’aho mwoba muriko mushikirwa n’ikintu c’akatabonetse. 13 Ahubwo, mubandanye kunezerwa+ kuko muri abasangira imibabaro ya Kristu+, kugira ngo munezerwe mwongere musesekare umunezero no mu gihe c’ihishurwa+ ry’ubuninahazwa bwiwe. 14 Nimba mutukwa muhorwa izina rya Kristu+, murahiriwe+, kubera ko impwemu y’ubuninahazwa, mbere impwemu y’Imana, iguma kuri mwebwe+.
15 Ariko ntihagire n’umwe muri mwebwe ababazwa+ ahorwa kuba ari umwicanyi canke igisuma canke inkozi y’ikibi canke uwita+ mu vy’abandi. 16 Mugabo nimba ababazwa+ ahorwa kuba ari umukirisu, ntamaramare+, ahubwo nagume aninahaza Imana muri iryo zina. 17 Kuko ari igihe cashinzwe c’uko urubanza rutangurira ku nzu y’Imana+. Nimba rero rubanza gutangurira kuri twebwe+, none iherezo ry’abatagamburukira inkuru nziza y’Imana rizoba irihe+? 18 “Kandi nimba umugororotsi ariko akizwa bigoranye+, none umuntu atibanga Imana hamwe n’umucumuzi bazoboneka hehe+?” 19 Nuko rero, n’abariko bababazwa mu buryo buhuye n’ukugomba kw’Imana nibagume baragiza ubuzima bwabo Umuremyi w’umwizigirwa mu gihe bariko bakora iciza+.
5 Abagabo b’inararibonye bo muri mwebwe rero ndabahimiriza gutya, kuko na jewe ndi umugabo w’inararibonye+ hamwe na bo nkaba n’icabona+ c’imibabaro ya Kristu, n’uwusangira na bo ubuninahazwa bugiye guhishurwa+: 2 Muragire+ ubusho bw’Imana+ mujejwe, mutagoberewe, ahubwo mubikunze+; mutabitumwe n’ugukunda inyungu mbi+, ahubwo mubishashaye; 3 atari nko mu gukandamiza+ abari intoranwa y’Imana+, ahubwo mu kubera uburorero ubusho+. 4 Kandi wa mukuru w’abungere+ niyashirwa ahabona, muzoronka rwa rugori rudakabirana+ rw’ubuninahazwa+.
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
6 Mwicishe bugufi rero munsi y’ukuboko kw’ububasha kw’Imana, kugira ngo ibashire hejuru igihe kigeze+; 7 muterere amaganya+ yanyu yose kuri yo, kuko ibababara+. 8 Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso+. Umwansi wanyu Shetani* agendagenda nk’intambwe iroha, arondera uwo arotsa+. 9 Mugabo mumurwanye+ mukomeye mu kwizera, muzi yuko iyo mibabaro nyene ishikira umuryango wose wa bene wanyu mw’isi+. 10 Mugabo, mumaze kubabazwa akanya gatoya+, ya Mana y’ubuntu ata wari abukwiriye bwose, imwe yabahamagarira ubuninahazwa bwayo bw’ibihe bidahera+ mu bumwe+ na Kristu, ubwayo izorangiza ukumenyerezwa kwanyu, ibashikamishe+, ibakomeze+. 11 Ubushobozi bube ubwayo+ ibihe vyose. Amen.
12 Biciye kuri Silivano+, mwene wacu w’umwizigirwa, nk’uko ndamufata, ndabandikiye muri make+ ngo ntange indemesho, nshinge n’intahe ndabigiranye ubwira yuko ubu ari bwo buntu nyakuri ata wari abukwiriye bw’Imana; mubuhagararemwo mushikamye+. 13 Umwe ari i Babiloni+ yatowe nkamwe, arabaramutsa, na Mariko+ umuhungu wanje arabaramutsa. 14 Muramukanishe ugusomana kw’urukundo+.
Mwese abunze ubumwe na Kristu mugire amahoro+.
Raba Inyongera ya 21.
Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.