ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 2 Petero 1:1-3:18
  • 2 Petero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Petero
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
2 Petero

Ikete rya Kabiri rya Petero

1 Jewe Simoni Petero, umushumba+ akaba n’intumwa+ ya Yezu Kristu, ndabandikiye mwebwe abaronse ukwizera, kakaba ari agateka kangana n’akacu+, biciye ku bugororotsi+ bw’Imana yacu n’ubw’Umukiza Yezu Kristu+:

2 Ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro vyongerezwe kuri mwebwe+ biciye ku bumenyi butagira amakosa+ bwerekeye Imana n’ubwerekeye Yezu Umukama wacu, 3 kuko ububasha bw’ubumana bwayo bwaduhaye ku buntu ibintu vyose vyerekeye ubuzima+ n’ukwihebera Imana+, biciye mu bumenyi butagira amakosa bwerekeye umwe yaduhamagara+ biciye mu buninahazwa+ n’ingeso nziza. 4 Biciye kuri ivyo bintu yaraduhaye ku buntu ya mihango y’agaciro kandi y’agahambaye+, kugira ngo biciye kuri yo mube abasangiye akamere+ k’Imana+, mukaba mwarakize ubwononekare buri mw’isi+ buva ku nambu ikomeye.

5 Egome, ku bw’iyo mvo nyene, namwe nimugire ico mushubijeyo mu kwihata mwivuye inyuma+: muronse ukwizera kwanyu ingeso nziza+, ingeso nziza zanyu muzironse ubumenyi+, 6 ubumenyi bwanyu muburonse ukwigumya, ukwigumya+ kwanyu mukuronse ukwihangana, ukwihangana kwanyu mukuronse ukwihebera Imana+, 7 ukwihebera Imana kwanyu mukuronse ukwiyumvamwo abavukanyi, ukwiyumvamwo abavukanyi mukuronse urukundo+. 8 Kuko nimba ivyo bintu biriho muri mwebwe kandi bigasesekara, bizobabuza kuba abantu badakora canke barumvye+ ku bijanye n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.

9 Kuko iyo umuntu adafise ivyo, aba ari impumyi, ahumiriza ngo amaso yiwe ntabone umuco+, kandi aba yibagiye+ uguhumanurwa+ kw’ibicumuro vyiwe vya kera. 10 Ku bw’ico ga bene wacu, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mutume ihamagarwa+ ryanyu be n’itorwa+ ryanyu biba ibidakekeranywa kuri mwebwe; kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye+. 11 Nkako, aho ni ho muzoronswa rwose ukwinjira+ mu bwami budahera+ bw’Umukama wacu n’Umukiza Yezu Kristu+.

12 Ku bw’ico, nzokwama niteguriye kubibutsa+ ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri+ kuri muri mwebwe+. 13 Mugabo mbona ko bibereye, mu gihe nkiri muri iyi taberenakulo+, kubakangura mu kubibutsa+, 14 nzi yuko vuba igihe co kwambura itaberenakulo yanje kiri hafi+, nk’uko n’Umukama wacu Yezu Kristu yabinyeretse+. 15 Rero, nzokora kandi uko nshoboye kwose igihe cose kugira ngo, ninamara kugenda+, muze mushobore kuvyibukanya.

16 Oya, ntitwabamenyesheje ububasha n’ukuhaba vy’Umukama wacu Yezu Kristu+ twisunze inkuru z’ikinyoma+ zaremaremwe ku buhinga, ahubwo twabigize twisunze ukuba twariboneye ugukayangana kwiwe+. 17 Kuko yahawe n’Imana ari yo Data iteka n’ubuninahazwa+, hamwe amajambo nk’aya yayashikirizwa n’ubuninahazwa bw’agatangaza ngo: “Uyu ni umwana wanje, umukundwa wanje, uwo jewe nashimye+.” 18 Egome, ayo majambo twarayumvise+ azanwa ava mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi mweranda+.

19 Nuko rero, turafise ijambo ry’ubuhanuzi+ ryagizwe ntakekeranywa kuruta+; kandi muriko mugira neza kuryitwararika nk’itara+ rikayanganira ahantu h’umwiza, gushika umusi utamanzuye n’inyenyeri y’umutwenzi*+ igaseruka, mu mitima yanyu. 20 Kuko ubwa mbere ibi mubizi: yuko ata buhanuzi bw’Icanditswe buva ku vyiyumviro vy’umuntu ku giti ciwe+. 21 Kuko ubuhanuzi ata ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu+, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana+ nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda+.

2 Ariko rero harabayeho kandi abahanuzi b’ikinyoma mu bantu, nk’uko kandi hazobaho abigisha b’ikinyoma muri mwebwe+. Abo nyene bazokwinjiza mu mpisho imice isambura, kandi bazokwihakana mbere shebuja yabaguze+, ubwabo bikwegere agatikizo kanyaruka. 2 Ikigeretseko, benshi bazokurikira+ ibikorwa vyabo vy’ubushirasoni*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa+ kubera bo. 3 Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.

4 Egome, nimba Imana itaretse guhana ba bamarayika+ bacumura, mugabo ikabahereza ivyobo vy’umwiza w’umuzitanya mu kubata muri Tarutaro*+ ngo babikirwe urubanza+; 5 kandi nimba itaretse guhana isi ya kera+, mugabo ikazigama Nowa umwamamaji w’ubugororotsi+ hamwe n’abandi indwi+ igihe yazana umwuzure+ kw’isi y’abantu batibanga Imana; 6 kandi igatsindisha+ vya bisagara Sodomu na Gomora mu kubihindura iminyota, gutyo igashiriraho abantu batibanga Imana icitegererezo c’ibintu bizoza+; 7 kandi ikarokora wa mugororotsi Loti+ yatuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni+— 8 kuko uwo muntu w’umugororotsi, kubera ivyo yabona kandi akumva igihe yaba muri bo, uko bukeye uko bwije umutima wiwe ugororotse wamana akababaro kubera ibikorwa vyabo vy’ubugarariji⁠— 9 Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana+, mugabo akamenya kubikira abakora ibitagororotse umusi w’urubanza ngo barandurwe+, 10 ariko canecane, abakurikira umubiri bafise icipfuzo co kuwuhumanya+ kandi bakagaya ubutware+.

Barubahuka, ni intagondwa, ntibajugumira imbere y’abanyabuninahazwa mugabo bagatukana+, 11 mu gihe abamarayika, naho babaruta mu nkomezi no mu bubasha, batabarega mu majambo y’ugutukana+, bakabireka kubera ukwubaha Yehova+. 12 Mugabo abo bantu, cokimwe n’ibikoko bitiyumvira vyavukiye gufatwa no kwicwa, muri nya bintu batazi kandi batuka+, bazoshikirwa mbere n’agatikizo mu ngendo yabo bwite y’ugutikizwa, 13 bakigirira nabi+ bikaba impembo y’ubukozi bw’ikibi bwabo+.

Babona ko kwiberaho mu kwiryohera ku murango ari agahimbare+. Abo ni udutosi n’ibirabagu, abantu bivobeka mu nyigisho zihendana zabo mu guhimbarwa kutagira akarimbi igihe basangira inzimano namwe+. 14 Bafise amaso yuzuye ukurenga ibigo+ kandi adashobora kuvavanura n’igicumuro+, kandi bararyosharyosha imitima idashikamye. Bafise umutima wamenyerejwe umwina+. Ni abana bavumwe+. 15 Mu guta inzira igororotse, barazimijwe. Bakurikiye ya nzira ya Balamu+, mwene Beyori, uwakunze impembo y’ubukozi bw’ikibi+, 16 mugabo akaronka igikangiro kubera yarenze ku vyari bigororotse+. Igitwazi kitavuga caravuze n’ijwi ry’umuntu+, kirabuza ingendo y’ubusazi ya nya muhanuzi+.

17 Abo ni amasôko atagira amazi+, n’ibipfungu bitwarwa n’ikirura gikaze, kandi babikiwe umwiza w’umuzimagiza+. 18 Kuko bavuga amajambo yo kwishira hejuru ata co amaze, kandi biciye ku vyipfuzo vy’umubiri+ no ku ngeso z’ubushirasoni bararyosharyosha+ abakiva mu vyara+ vy’abantu bagendera mu buzimire. 19 Naho babasezeranira umwidegemvyo+, bo ubwabo ni abaja b’ukubora+. Kuko uwo wese atsinzwe n’uwundi aca agirwa umuja n’uyo+. 20 Mu vy’ukuri, nimba bamaze gukira ubuhumane bw’isi+ biciye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama n’Umukiza Yezu Kristu, bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bagatsindwa+, ivya nyuma biba vyunyutse kuri bo kuruta ivya mbere+. 21 Kuko vyari kubabera vyiza kutamenya neza inzira y’ubugororotsi+, hako bayimenya neza hanyuma bagaha umugongo ibwirizwa ryeranda bashikirijwe+. 22 Ico wa mugani w’ukuri uvuga cabashitseko, ngo: “Imbwa+ isubiye ku bidahwe vyayo bwite, n’ingurube yuhagiwe isubiye kwivurunga mu rwondo+.”

3 Bakundwa, iri rero ni ikete rigira kabiri ndabandikiye, muri ryo, cokimwe no mw’ikete ryanje rya mbere+, nkaba ndiko nkangura ubushobozi bwanyu bwo kwiyumvira butomoye mu kubibutsa+, 2 kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abahanuzi beranda+ na rya bwirizwa ry’Umukama akaba n’Umukiza, iryashikirijwe biciye ku ntumwa zanyu+. 3 Kuko ubwa mbere muzi ibi: yuko mu misi ya nyuma+ hazoza abashinyaguzi+ n’agashinyaguro kabo, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+ 4 bavuga+ ngo: “Ukwo kuhaba kwiwe kwasezeranywe kuri hehe+? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema+.”

5 Kuko, nk’uko icipfuzo cabo kiri, iki kintu kirabasoba: yuko kuva kera hariho amajuru+ n’isi ihagaze itsindagiye, hejuru y’amazi+, no hagati mu mazi+, biciye kw’ijambo ry’Imana; 6 kandi biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure+. 7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru+ n’isi+ biriho ubu birundanirijwe umuriro+, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza+ n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana+.

8 Ariko iki kintu kimwe ntikibasobe, bakundwa: yuko umusi umwe kuri Yehova ari nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi nk’umusi umwe+. 9 Yehova ntatevye ku bijanye n’umuhango wiwe+, nk’uko bamwe babona uguteba, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya+. 10 Yamara umusi wa Yehova+ uzoza nk’igisuma+, aho amajuru azovaho+ mu kwasana gukomeye+, mugabo ibintu bikazoyagishwa n’ugushuha gukaze+, n’isi+ n’ibikorwa biri muri yo bikazoshirwa ku mugaragaro+.

11 Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, 12 murorera+ kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova+, kubera wo amajuru akazoyagishwa n’ugusha+, n’ibintu bikazoshongeshwa n’ugushuha gukaze! 13 Mugabo, nk’uko yabisezeranye, turorereye amajuru mashasha+ n’isi nshasha+, kandi aho ni ho ubugororotsi buzoba+.

14 Ku bw’ivyo, bakundwa, ko murorereye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagirako agatosi+, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro+. 15 Ikigeretseko, nimubone ukwihangana kw’Umukama wacu nk’ubukiriro, nk’uko mwene wacu mukundwa Paulo na we yabibandikiye+ nk’uko ubukerebutsi+ yahawe buri, 16 akavuga ivy’ivyo bintu nk’uko kandi agira mu makete yiwe yose. Ariko muri yo, harimwo ibintu bimwebimwe bigoye gutegera, ivyo abatigishijwe kandi badashikamye bagoramika, nk’uko bagira n’ibindi Vyanditswe+, bikabaviramwo ugutikizwa kwabo bwite.

17 Mwebwe rero bakundwa, ko ivyo musanzwe mubizi+, mwiyubare ntimutwarwe hamwe na bo biciye ku buzimire bw’abantu batibanga amategeko mugata ugushikama kwanyu bwite+. 18 Oya, ahubwo mubandanye gukura mu buntu ata wari abukwiriye no mu bumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu+. Ubuninahazwa bube ubwiwe ubu no gushika ku musi w’ibihe bidahera+.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Tarutaro ni ugucishwa bugufi kumeze nk’ugushirwa mw’ibohero, ari kwo Imana yatereyemwo abamarayika bagambaraye mu gihe ca Nowa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika