ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 1 Yohani 1:1-5:21
  • 1 Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Yohani
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
1 Yohani

Ikete rya Mbere rya Yohani

1 Kimwe cariho kuva mu ntango+, ico twumvise+, ico twabonye n’amaso yacu+, ico twitegereje neza+ n’amaboko yacu akagikorakora+, ku vyerekeye rya jambo ry’ubuzima+ 2 (egome, ubuzima bwarerekanywe+, kandi twarabonye tukaba kandi turiko turashinga intahe+ twongera tubamenyesha ubuzima budahera+ bwari kumwe na Data tukaba kandi twarabweretswe), 3 kimwe twabona kandi tukumva ni na co turiko turabamenyesha+, kugira ngo namwe musangire natwe+. Ikigeretseko, ukwo gusangira+ kwacu kugirwa hamwe na Data be n’Umwana wiwe Yezu Kristu+. 4 Ni co gituma tubandikiye ibi bintu kugira ngo akanyamuneza kacu kuzure+.

5 Kandi ubu ni bwo butumwa twamwumvanye ari na bwo turiko turabamenyesha+: yuko Imana ari umuco+, kandi ntihaba umwiza namba mu bumwe na yo+. 6 Iyo tuvuze ngo: “Dusangiye na yo,” yamara tukabandanya kugendera mu mwiza+, tuba turiko turabesha kandi ntituba turiko tugendera mu kuri+. 7 Ariko nimba tugendera mu muco nk’uko na yo ubwayo iri mu muco+, turafise koko ugusangira hagati yacu+, kandi amaraso+ ya Yezu Umwana wayo aratwoza+ igicumuro cose+.

8 Iyo tuvuze ngo: “Nta gicumuro dufise+,” tuba turiko turizimiza+ kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe. 9 Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu+, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu yongere itwoze ukutagororoka kwose+. 10 Iyo tuvuze ngo: “Ntitwacumuye,” tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe+.

2 Bana banje bato, ndabandikiye ibi bintu ngo ntimukore igicumuro+. Yamara, nimba hagize uwukora igicumuro, turafise umufasha+ ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi+. 2 Kandi uyo ni ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+, yamara atari ku bw’ivyacu+ gusa ahubwo kandi ku bw’ivy’isi yose+. 3 Kandi iki ni co tumenyerako yuko twamumenye, ni ukuvuga, nimba tuguma twubahiriza amabwirizwa yiwe+. 4 Uwuvuga ngo: “Naramumenye+,” yamara akaba atubahiriza amabwirizwa yiwe+, ni umubeshi, kandi ukuri ntikuri muri we+. 5 Mugabo uwo wese yubahiriza ijambo ryiwe+, vy’ukuri muri uyo muntu ugukunda Imana kuba kwaragizwe ukutagira akanenge+. Ico ni co tumenyerako yuko twunze ubumwe na we+. 6 Uwuvuga ko aguma yunze ubumwe+ na we, ubwiwe abwirizwa kandi kubandanya agenda nk’uko uyo na we yagenda+.

7 Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera+ mwaronse kuva mu ntango+. Iryo bwirizwa rya kera ni rya jambo mwumvise. 8 Nongeye kubandikira ibwirizwa rishasha, kikaba ari ikintu c’ukuri kuri we no kuri mwebwe, kuko umwiza+ uriko urarengana, umuco+ w’ukuri na wo ukaba umaze gukayangana.

9 Uwuvuga ko ari mu muco yamara akanka+ mwene wabo, ari mu mwiza gushika n’ubu+. 10 Uwukunda mwene wabo aguma mu muco+, kandi mu bimwerekeye nta gitsitaza kihari+. 11 Mugabo uwanka mwene wabo, ari mu mwiza kandi agendera mu mwiza+, kandi ntazi iyo ariko araja+, kuko umwiza wamuhumye amaso.

12 Ndabandikiye, bana bato, kuko ibicumuro vyanyu mwabibabariwe ku bw’izina ryiwe+. 13 Ndabandikiye, mwebwe ba se, kuko mwamenye umwe ariho guhera mu ntango+. Ndabandikiye, basore+, kuko mwatsinze wa mubisha+. Ndabandikiye, bana bato+, kuko mwamenye Data+. 14 Ndabandikiye, mwebwe ba se+, kuko mwamenye umwe ariho guhera mu ntango+. Ndabandikiye, basore, kuko mukomeye+ kandi ijambo ry’Imana rikaba riguma muri mwebwe+ kandi mukaba mwaratsinze wa mubisha+.

15 Ntimukunde isi canke ibiri mw’isi+. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruri muri we+; 16 kuko ikiri mw’isi cose+—⁠icipfuzo c’umubiri+ n’icipfuzo c’amaso+ be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho+—kidakomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi+. 17 Ikigeretseko, isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo+, mugabo uwukora ukugomba+ kw’Imana agumaho ibihe vyose+.

18 Bana batoyi, iyi ni yo saha ya nyuma+, kandi, nk’uko mwumvise yuko antikristu* ariko araza+, n’ubu haramaze kubaho ba antikristu benshi+; ico kikaba ari co tumenyerako yuko iyi ari yo saha ya nyuma. 19 Bavuye muri twebwe, mugabo ntibari abo muri twebwe+; kuko iyo baba abo muri twebwe, bari kugumana natwe+. Mugabo baratuvuyemwo kugira ngo vyerekanwe yuko bose atari abo muri twebwe+. 20 Kandi murafise irobanurwa riva kuri wa mweranda+; mwese murafise ubumenyi+. 21 Ndabandikiye, atari kubera ko mutazi ukuri+, mugabo kubera ko mukuzi+, no kubera ko ata kinyoma gikomoka mu kuri+.

22 Ni nde ari umubeshi atari uwuhakana ko Yezu ari we Kristu+? Uyo ni we antikristu+, uwuhakana Data n’Umwana+. 23 Umuntu wese ahakana Umwana, na Data nta we afise+. Uwemera icese+ Umwana, arafise na Data+. 24 Nayo mwebwe, ico mwumvise guhera mu ntango nikigume muri mwebwe+. Nimba ico mwumvise guhera mu ntango kiguma muri mwebwe, muzoguma kandi mwunze ubumwe+ n’Umwana, mwunze ubumwe kandi na Data+. 25 Ikigeretseko, iki ni ca kintu casezeranwa we ubwiwe yadusezeraniye: ubuzima budahera+.

26 Ibi bintu ndabibandikiye ku vyerekeye abariko bagerageza kubazimiza+. 27 Nayo mwebwe, irobanurwa+ mwahawe na we riguma muri mwebwe, kandi ntimukeneye ko hagira uwubigisha+; mugabo nk’uko irobanurwa mwahawe na we ribigisha ku vyerekeye ibintu vyose+, kandi rikaba ari iry’ukuri+ atari ukubesha, kandi nk’uko ryabigishije, nimugume mwunze ubumwe+ na we. 28 Nuko rero, bana bato+, mugume mwunze ubumwe+ na we, kugira ngo niyashirwa ahabona+ tuze tugire umwidegemvyo wo kuvuga+, ntitumaramazwe ngo tuve kuri we mu gihe c’ukuhaba kwiwe+. 29 Nimba muzi ko agororotse+, murazi yuko umuntu wese agendera mu bugororotsi yavutse kuri we+.

3 Raba urukundo+ Data yaduhaye urwo ari rwo, ku buryo twitwa abana b’Imana+; kandi ni ko turi. Ni co gituma isi+ itatuzi, kuko itamumenye+. 2 Bakundwa, ubu turi abana b’Imana+, mugabo ubu ico tuzoba ntikirerekanwa+. Ico tuzi ni uko aho azokwerekanirwa+ hose tuzomera nka we+, kuko tuzomubona nk’uko ari+. 3 Kandi umuntu wese afise ico cizigiro gishimikiye kuri we, arityorora+ nk’uko urya na we atyoroye+.

4 Umuntu wese agendera mu gicumuro+ aba kandi ariko agendera mu bugarariji+, kandi rero igicumuro+ ni ubugarariji. 5 Murazi kandi yuko urya yerekanywe kugira ngo akureho ibicumuro vyacu+, kandi nta gicumuro+ kiri muri we. 6 Umuntu wese aguma yunze ubumwe+ na we ntaza aracumura+; nta wuza aracumura n’umwe yamubonye canke yamumenye+. 7 Bana bato, ntihagire n’umwe abazimiza; uwushishikara ubugororotsi ni umugororotsi, nk’uko urya na we ari umugororotsi+. 8 Uwushishikara igicumuro akomoka kuri Shetani*, kuko uwo Shetani yamye acumura guhera mu ntango+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana yerekanwa+: ni ukugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani+.

9 Umuntu wese yavutse ku Mana ntashishikara igicumuro+, kuko urubuto rurondoka rwayo ruguma muri mwene uyo, kandi ntashobora kuza aracumura, kuko yavutse ku Mana+. 10 Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi+ ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo+. 11 Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise guhera mu ntango+: yuko dukwiye gukundana+; 12 atari nka Kayini, uwakomoka kuri wa mubisha akica+ mwene wabo. Kandi yamwishe kubera iki? Kubera ko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, mugabo ivya mwene wabo bikaba vyari bigororotse+.

13 Ntimutangazwe, bene wacu, n’uko isi ibanka+. 14 Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda bene wacu+. Uwudakunda mwene wabo, aguma mu rupfu+. 15 Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+. 16 Iki ni co twamenyeyeko urukundo+, kuko urya yatwiguze+; natwe tubwirizwa kwigura bene wacu+. 17 Mugabo uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si+ akabona mwene wabo ari mu mukeno+ yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe+, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute+? 18 Bana bato, dukundane+, atari mu majambo canke ku karimi+, ahubwo mu bikorwa+ no mu kuri+.

19 Ico ni co tuzomenyerako yuko dukomoka ku kuri+, kandi tuzokura amazinda imitima yacu imbere yayo 20 ku kintu cose imitima yacu yodutsindishamwo+, kuko Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose+. 21 Bakundwa, nimba imitima yacu itadutsindisha, turafise umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’Imana+; 22 kandi ikintu cose dusaba irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibintu bihimbaye mu maso yayo+. 23 Egome, iri ni ryo bwirizwa ryayo: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse. 24 Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa yayo aguma yunze ubumwe na yo, na yo ikaguma yunze ubumwe n’uyo+; kandi ico ni co tumenyerako yuko iguma yunze ubumwe natwe+, bivuye ku mpwemu+ yaduhaye.

4 Bakundwa, ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose+, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.

2 Iki ni co mumenyerako ijambo ry’irihumekano riva ku Mana+: Ijambo ry’irihumekano ryose ryemera icese Yezu Kristu yuko yaje mu mubiri rikomoka ku Mana+, 3 mugabo ijambo ry’irihumekano ryose ritemera icese Yezu ntirikomoka ku Mana+. Ikigeretseko, iryo ni rya jambo ry’irihumekano rya antikristu mwumvise ko ryariko riraza+, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi+.

4 Mwebwe mukomoka ku Mana, bana bato, kandi mwaratsinze abo bantu+, kuko uwunze ubumwe+ namwe aruta+ uwunze ubumwe n’isi+. 5 Bo bakomoka mw’isi+; ni co gituma bavuga ibiva mw’isi, kandi isi irabumviriza+. 6 Twebwe dukomoka ku Mana+. Uwumenye Imana aratwumviriza+; uwudakomoka ku Mana ntatwumviriza+. Ukwo ni ko tumenya ijambo ry’irihumekano ry’ukuri be n’ijambo ry’irihumekano ry’ubuzimire+.

7 Bakundwa, tubandanye gukundana+, kuko urukundo+ ruva ku Mana, kandi umuntu wese akundana yavutse ku Mana+ kandi aramenya Imana+. 8 Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo+. 9 Iki ni co urukundo rw’Imana rwerekaniweko mu bitwerekeye+, kuko Imana yatumye Umwana wayo w’ikinege+ mw’isi kugira ngo turonke ubuzima biciye muri we+. 10 Muri ivyo urukundo ni uru: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko ari yo yadukunze igatuma Umwana wayo ngo abe ikimazi+ c’impongano+ ku bw’ibicumuro vyacu+.

11 Bakundwa, nimba ukwo ari ko Imana yadukunze, natwe ubwacu tubwirizwa rero gukundana+. 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Nimba tubandanya gukundana, Imana iguma muri twebwe n’urukundo rwayo rukagirwa urutagira akanenge muri twebwe+. 13 Iki ni co tumenyerako yuko tuguma twunze ubumwe+ na yo, na yo ikaguma yunze ubumwe natwe+, kuko yaduhaye impwemu yayo+. 14 Vyongeye, ubwacu twarabonye+ tukaba kandi turiko turashinga intahe+ yuko Data yatumye Umwana wiwe ngo abe Umukiza w’isi+. 15 Uwo wese yemera icese yuko Yezu Kristu ari Umwana w’Imana+, Imana iguma yunze ubumwe n’uyo, na we akaguma yunze ubumwe n’Imana+. 16 Kandi twebwe ubwacu twaramenye kandi twaremeye urukundo+ Imana idufitiye.

Imana ni urukundo+, kandi uwuguma mu rukundo+ aguma yunze ubumwe+ n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we. 17 Uku ni ko urukundo rwagizwe urutagira akanenge muri twebwe, kugira ngo tugire umwidegemvyo wo kuvuga+ ku musi w’urubanza+, kuko nk’uko urya ari, ni ko natwe ubwacu turi muri iyi si+. 18 Nta bwoba buba mu rukundo+, mugabo urukundo rutagira akanenge rurahindira hanze ubwoba+, kuko ubwoba butangira. Mu vy’ukuri, uwuguma mu bwoba ntiyagizwe uwutagira akanenge mu rukundo+. 19 Nayo twebwe, turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda+.

20 Iyo umuntu avuze ngo: “Ndakunda Imana,” yamara akaba yanka mwene wabo, aba ari umubeshi+. Kuko uwudakunda mwene wabo+ yabonye adashobora kuba akunda Imana atabonye+. 21 Kandi iri bwirizwa twarihawe na yo+: uwukunda Imana akwiye kuba akunda na mwene wabo+.

5 Umuntu wese yemera yuko Yezu ari we Kristu, yavutse ku Mana+, kandi umuntu wese akunda uwatumye ivuka rishoboka arakunda uwavutse kuri uyo+. 2 Iki ni co tumenyerako yuko dukunda+ abana b’Imana+: ni igihe dukunda Imana kandi tugakurikiza amabwirizwa yayo+. 3 Kuko iki ari co ugukunda+ Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo+, 4 kuko ikintu cose cavutse+ ku Mana gitsinda isi+. Kandi iyi ni yo ntsinzi+ yatsinze+ isi: ni ukwizera kwacu+.

5 Ni nde atsinda+ isi+ atari uwizera+ yuko Yezu ari we Mwana w’Imana+? 6 Uyo ni we yaje biciye ku mazi n’amaraso, Yezu Kristu; si ku mazi+ gusa, mugabo ni ku mazi no ku maraso+. Kandi impwemu+ ni yo ishinga intahe, kuko impwemu ari yo kuri. 7 Kuko hari ibintu bitatu bishinga intahe: 8 impwemu+ n’amazi+ n’amaraso+, kandi ivyo bitatu birahuza+.

9 Nimba twakira intahe abantu bashinga+, intahe Imana ishinga irahambaye kuruta, kuko iyi ari yo ntahe Imana ishinga: ukuba yashinze intahe+ ku vyerekeye Umwana wayo. 10 Umuntu yizera Umwana w’Imana arashingirwa intahe+. Umuntu atizera Imana aba ayigize umubeshi+, kuko atizeye intahe yashinzwe+, iyo Imana bwa cabona+ yashinze ku vyerekeye Umwana wayo. 11 Kandi iyi ni yo ntahe yashinzwe: ni uko Imana yaduhaye ubuzima budahera+, kandi ubwo buzima buri mu Mwana wayo+. 12 Uwufise Umwana arafise ubwo buzima; uwudafise Umwana w’Imana ntafise ubwo buzima+.

13 Ndabandikiye ivyo bintu kugira ngo mumenye yuko mufise ubuzima budahera+, mwebwe abizeye izina ry’Umwana w’Imana+. 14 Kandi uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo+: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva+. 15 Vyongeye, nimba tuzi yuko itwumva ku bijanye n’ico dusaba cose+, turazi ko turonka ibintu twasavye kuko ari yo twabisavye+.

16 Umuntu niyabona mwene wabo ariko aracumura igicumuro kitazana urupfu+, aze amusabire, na yo izomuha ubuzima+, egome, ku badacumura ku buryo bizana urupfu+. Hariho igicumuro kizana urupfu koko. Ku vyerekeye ico gicumuro ni ho ntamubwira gusaba+. 17 Ukutagororoka kwose ni igicumuro+; yamara hariho igicumuro kitazana urupfu.

18 Turazi yuko umuntu wese yavutse ku Mana+ ataza aracumura, mugabo Umwe+ yavuka ku Mana aramurinda, kandi wa mubisha ntamwifatira+. 19 Turazi ko dukomoka ku Mana+, mugabo isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha+. 20 Mugabo turazi yuko Umwana w’Imana yaje+, kandi yaraduhaye ubushobozi bwo gutegera+ kugira ngo tumenye imwe y’ukuri+. Kandi twunze ubumwe+ n’imwe y’ukuri, biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. Iyo ni yo Mana y’ukuri+ n’ubuzima budahera+. 21 Bana bato, mwirinde ibigirwamana+.

Raba Inyongera ya 21.

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika