1 Izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’igiheburayo no mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu “Yehova.”
Mu giheburayo ni יהוה (YHWH canke YHVH)
“Yehova” (mu giheburayo ni יהוה, YHWH), ari ryo zina ry’uruharo ry’Imana, riboneka ubwa mbere mw’It 2:4. Izina ry’Imana ni irivuga ry’igiheburayo הוה (ha·wahʹ, “gucika ukuntu”) riri mu mero yo gutuma ikintu kimera ukuntu, rikaba rihadikirijwe mu buryo bwerekana ko ari igikorwa kitararangira. Ku bw’ivyo, izina ry’Imana risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Ivyo bihishura yuko Yehova atuma ubwiwe acika Uwushitsa imihango, Umwe yama nantaryo arangūra ivyo yasezeranye, ivyo akabigira intambwe ku yindi.
Ikintu c’agatukisha kiruta ibindi vyose abahinduzi bo mu gihe ca none bakorera Imana yo Sôko ry’Ivyanditswe Vyeranda, ni ugukura mu Vyanditswe izina ryiwe ry’uruharo canke ukurihisha. Mu bisanzwe izina ryiwe riboneka mu gisomwa c’igiheburayo incuro 6.828, rikerekanwa n’indome יהוה (YHWH canke YHVH), izikunze kwitwa Tetaragarama (ijambo ku rindi bisobanura “c’indome zine”). Mu gukoresha izina “Yehova,” twarumiye cane ku gisomwa co mu rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango, ntitwakurikira umugenzo wo gusubiriza izina ry’Imana (ya Tetaragarama) amazina y’icubahiro nka “Umukama,” “Uhoraho,” “Umwami” canke “Imana.”
Izina “Yehova” riboneka incuro 6.973 mu gisomwa c’Ivyanditswe vy’igiheburayo co muri Bibiliya y’isi nshasha. Mu bisanzwe ya Tetaragarama iboneka incuro 6.828 mu gisomwa c’igiheburayo, harimwo n’amazina y’urunani atatu (It 22:14; Kv 17:15; Abc 6:24) be n’incuro zitandatu aho riboneka mu tujambo tw’intangamarara two muri Zaburi (7:in; 18:in [incuro 3]; Zb 36:in; 102:in). Iyo Tetaragarama twayihinduye ngo “Yehova” muri izo ncuro 6.828 uretse mu Abc 19:18, ahashizwe insigarirazina-ngereka “yanje” yerekeza ku muvugwa wa mbere mu rudende, aho kuhashira izina ry’Imana. Vyongeye, twisunze ingene vyagizwe mu mpinduro ya Septante, twarasubije iyo Tetaragarama mu Gus 30:16, muri 2Sm 15:20 no muri 2Ng 3:1. Twarasubije izina ry’Imana no muri Yes 34:16 na Zk 6:8 ahakwiye gushirwa izina “Yehova” aho kuhashira insigarirazina-ngereka “kanje” na “yanje” zerekeza ku muvugwa wa mbere mu rudende. Izina ry’Imana ryarasubijwe n’ahandi hantu 141, aho Abasoferimu barikuye bakarisubiriza ʼAdho·naiʹ canke ʼElo·himʹ.
Kugira twirinde kurenga uturimbi umuhinduzi ashingirwa ngo tuje mu vyo gusobanura, twariyubaye rwose ku bijanye no gusubiza izina ry’Imana mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, nantaryo tukisunga cane Ivyanditswe vy’igiheburayo. Twararondeye ko ivyo tugira bihuza n’impinduro z’igiheburayo zihari z’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.
Tetaragarama mu ndome z’igiheburayo (יהוה) yarakoreshejwe mu gisomwa c’igiheburayo no muri ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante. Igihe rero Yezu n’abigishwa biwe baba basomye Ivyanditswe mu giheburayo canke mu kigiriki, barabona izina ry’Imana. Mw’isinagogi i Nazareti, igihe Yezu yahaguruka akakira igitabu ca Yesaya agaheza agasoma Yes 61:1, 2 ahakoreshwa Tetaragarama, yaratuye izina ry’Imana. Ivyo vyari bihuye n’umwiyemezo yari afise wo kumenyekanisha izina rya Yehova nk’uko biboneka mw’isengesho yatuye Se wiwe ati: “Narahishuriye izina ryawe abantu wampaye ubakuye mw’isi. . . . Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzorimenyekanisha.”—Yoh 17:6, 26.
Mu guhindura igisomwa co mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, twarasubijemwo izina ry’Imana incuro 237. Ku ncuro imwimwe yose muri izo ncuro 237 izina ry’Imana ryasubijwe muri ico gisomwa, twararonse ivyemeza bishingiye ku mpinduro z’igiheburayo zitari nke.