ITANGURIRO
1 Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi+.
2 Isi nta mero yari ifise kandi yaragaragara. Hejuru y’amazi*+ hari umwiza, kandi impwemu y’Imana*+ yaguma itembera hejuru y’amazi+.
3 Imana rero ivuga iti: «Nihabeho umuco.» Nuko habaho umuco+. 4 Maze Imana ibona ko umuco wari mwiza, iraheza itandukanya umuco n’umwiza. 5 Imana yita umuco «umurango», umwiza na wo iwita «ijoro+.» Burira bwongera buraca: uwo uba umusi wa mbere.
6 Imana yongera kuvuga iti: «Nihabeho ikirere+ hagati y’amazi, gitandukanye amazi n’ayandi+.» 7 Maze Imana itangura gutunganya ikirere no gutandukanya amazi yari munsi yaco n’ayari hejuru yaco+. Biraheza biba gutyo nyene. 8 Imana yita ikirere «ijuru.» Burira bwongera buraca: uwo uba umusi ugira kabiri.
9 Imana yongera kuvuga iti: «Amazi yo munsi y’ijuru nakoranire ahantu hamwe, kandi haboneke ubutaka bwumutse+.» Biraheza biba gutyo nyene. 10 Ubutaka bwumutse Imana ibwita «isi+», amazi akoraniye hamwe na yo iyita «ikiyaga+.» Imana ibona ko vyari vyiza+. 11 Imana iraheza ivuga iti: «Isi nimereko ivyatsi n’ibiterwa vyama imbuto. Nimereko kandi ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko butandukanye bitanga ivyamwa n’imbuto kw’isi.» Biraheza biba gutyo nyene. 12 Isi itangura kumerako ivyatsi, ibiterwa vyama imbuto+ n’ibiti vy’ubwoko butandukanye bitanga ivyamwa n’imbuto. Imana ibona ko vyari vyiza. 13 Burira bwongera buraca: uwo uba umusi ugira gatatu.
14 Imana yongera kuvuga iti: «Nihabeho ibintu bitanga umuco*+ mu kirere kugira bitandukanye umurango n’ijoro+, kandi bizoba ibimenyetso vyerekana ibihe, imisi n’imyaka+. 15 Bizokwaka biri mu kirere kugira bimurikire isi.» Biraheza biba gutyo nyene. 16 Imana rero ikora ibitangamuco bibiri bininibinini, kinini muri vyo kugira cake ku murango+, gitoyi na co mw’ijoro, ikora n’inyenyeri+. 17 Imana ibishira mu kirere kugira bimurikire isi, 18 kugira vyake ku murango no mw’ijoro no kugira bitandukanye umuco n’umwiza+. Imana ibona ko vyari vyiza. 19 Burira bwongera buraca: uwo uba umusi ugira kane.
20 Imana yongera kuvuga iti: «Amazi niyuzuremwo ibikoko, kandi ibikoko bifise amababa nibiguruke mu kirere hejuru y’isi+.» 21 Nuko Imana irema ibikoko bininibinini vyo mu mazi, ibikoko vyose vy’amoko atandukanye bigendera mu mazi biri mu migwi mininiminini n’ibikoko vyose vy’amoko atandukanye bifise amababa kandi biguruka. Imana ibona ko vyari vyiza. 22 Maze Imana irabihezagira, ivuga iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure amazi yo mu kiyaga+, kandi ibikoko biguruka nibigwire kw’isi.» 23 Burira bwongera buraca: uwo uba umusi ugira gatanu.
24 Imana yongera kuvuga iti: «Isi nizane ibikoko vy’ubwoko butandukanye: ibikoko vy’ibitungano, ibikwega inda hasi* n’ibikoko vyo mw’ishamba kandi vy’ubwoko bwose+.» Biraheza biba gutyo nyene. 25 Imana irema ibikoko vyo mw’ishamba vy’amoko atandukanye, ibikoko vy’ibitungano vy’amoko atandukanye n’ibikoko vyose bikwega inda hasi vy’amoko atandukanye. Imana ibona ko vyari vyiza.
26 Imana yongera kuvuga iti: «Tureme+ umuntu mw’ishusho+ yacu, asa+ natwe, aheze aganze amafi yo mu kiyaga, ibikoko biguruka mu kirere, ibikoko vy’ibitungano, isi yose n’ibikoko vyose bikwega inda hasi+.» 27 Imana iraheza irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema mw’ishusho y’Imana. Irema umugabo n’umugore+. 28 Maze Imana irabahezagira, ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi+ kandi muyiganze+. Nimuganze+ amafi yo mu kiyaga, ibikoko biguruka mu kirere n’ibikoko vyose bigendagenda kw’isi.»
29 Imana yongera kuvuga iti: «Ehe ndabahaye ibiterwa vyose vyo kw’isi vyama imbuto n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto. Nibibabere ibifungurwa+. 30 Kandi ibikoko vyose vyo mw’ishamba, ibikoko vyose biguruka mu kirere n’ibindi bikoko vyose bigendagenda kw’isi, ndabihaye ivyatsi bitoto ngo bibe ivyo kurya vyavyo+.» Biraheza biba gutyo nyene.
31 Inyuma y’ivyo, Imana yihweza ibintu vyose yari yaremye, isanga vyari vyiza cane+. Burira bwongera buraca: uwo uba umusi ugira gatandatu.
2 Ukwo ni ko igikorwa co kurema ijuru n’isi n’ibirimwo vyose* carangiye+. 2 Ku musi ugira indwi, Imana yari yarangije igikorwa yari imaze igihe ikora. Maze ku musi ugira indwi, itangura kuruhuka igikorwa cose yari yakoze+. 3 Nuko Imana ihezagira umusi ugira indwi, iwugira mweranda, kuko kuri uwo musi yatanguye kuruhuka igikorwa cayo c’irema, ibintu vyose yari yategekanije gukora.
4 Iyi ni inkuru yigana kahise k’ijuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Yehova* Imana yarema isi n’ijuru+.
5 Nta bisaka canke ibindi biterwa vyari bwatangure kumera kw’isi, kuko Yehova Imana ata mvura yari bwagwishe kw’isi kandi nta muntu yariho kugira ayirime. 6 Mugabo igipfungu caraduga kivuye mw’isi kikayivomera yose.
7 Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu+, araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima+ maze aba umuntu muzima*+. 8 Vyongeye, Yehova Imana atunganya itongo muri Edeni+, amaja mu buseruko, maze ahashira uwo muntu yari yabumvye+. 9 Yehova Imana ameza igiti cose kibereye ijisho kandi gifise ivyamwa biryoshe, ameza n’igiti c’ubuzima+ hagati muri iryo tongo hamwe n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi+.
10 Hariho uruzi rutemba ruva muri Edeni kugira ruvomere iryo tongo, rugaca rwigaburamwo inzuzi zine. 11 Urwa mbere rwitwa Pishoni. Ni rwo rukikuje intara yose ya Havila irimwo inzahabu. 12 Inzahabu zo muri iyo ntara ni nziza. Hariyo kandi ibirirarira bimota neza* n’amabuye y’agaciro bita onigisi. 13 Urwa kabiri rwitwa Gihoni. Ni rwo rukikuje intara yose ya Kushi. 14 Urwa gatatu rwitwa Hidekeli*+. Ni rumwe rutemba rwerekeza mu buseruko bwa Ashuri+. Urwa kane na rwo ni Efurate+.
15 Yehova Imana afata wa muntu, amushira muri iryo tongo rya Edeni kugira aririme yongere aryitwararike+. 16 Yehova Imana ategeka uwo muntu ati: «Ivyamwa vy’ibiti vyose vyo muri iri tongo urashobora kubirya uko ushaka+. 17 Mugabo ivyamwa vy’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi, ntuze ubiryeko, kuko umusi wabiriyeko uzopfa ata kabuza+.»
18 Mu nyuma, Yehova Imana avuga ati: «Si vyiza ko uyu mugabo aguma ari wenyene. Ngira ndamuhe umufasha bakwiranye+.» 19 Yehova Imana yari yabumvye mu mukungugu ibikoko vyose vyo mw’ishamba n’ibikoko vyose biguruka mu kirere. Atangura rero kubizanira wa muntu kugira arabe uko avyita, kandi izina yaha kimwekimwe cose ryaca riba iryo nyene+. 20 Nuko yita amazina ibikoko vyose vy’ibitungano, ibiguruka mu kirere n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba, mugabo we nta mufasha bakwiranye yari afise. 21 Ku bw’ivyo, Yehova Imana ateza itiro ryinshi uwo mugabo maze mu gihe yari asinziriye, akuramwo rumwe mu mbavu ziwe, araheza ateranya umubiri aho rwavuye. 22 Urwo rubavu Yehova Imana yari yakuye muri uwo mugabo arukoramwo umugore, aca aramumuzanira+.
23 Maze uwo mugabo avuga ati:
«Uyu rero ni igufa ryo mu magufa yanje
n’umubiri w’umubiri wanje.
Azokwitwa “umugore”,
kuko yavuye mu mugabo+.»
24 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi bazoba umubiri umwe+. 25 Kandi uwo mugabo n’umugore wiwe bose bari gusa+, ariko ntivyabatera isoni.
3 Inzoka+ ni yo yarusha amayeri* ibindi bikoko vyose vyo mw’ishamba Yehova Imana yari yararemye. Nuko ibaza wa mugore iti: «Imana yoba yaravuze vy’ukuri yuko mudakwiye kurya ivyamwa vy’igiti na kimwe co muri iri tongo+?» 2 Umugore yishura iyo nzoka ati: «Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti vyo muri iri tongo+. 3 Mugabo ivyamwa vy’igiti kiri hagati mw’itongo+ ni vyo Imana yatubujije. Yatubwiye iti: “Ntimuze mubiryeko, ntimuze munabikoreko, ahandiho muzopfa.”» 4 Iyo nzoka ica ibwira uwo mugore iti: «Oya ntimuzopfa+. 5 Imana irazi ko umusi nyene mwabiriyeko, amaso yanyu azoca yuguruka mukamera nk’Imana, mukamenya iciza n’ikibi+.»
6 Uwo mugore aca abona ko ivyamwa vy’ico giti biryoshe kandi bibereye ijisho. Emwe, abona ko ico giti cari giteye igomwe. Nuko yamura ivyamwa vyaco ararya+. Mu nyuma, abonanye n’umugabo wiwe, aramuhako na we nyene ararya+. 7 Amaso yabo aca aruguruka, batahura ko bari gusa. Baca bashona amababi y’umusukoni, bayakoramwo uduhuzu bakenyera mu mafyinga+.
8 Mu nyuma, bumva ijwi rya Yehova Imana ariko atembera muri iryo tongo nko ku mugoroba*. Uwo mugabo n’umugore wiwe baca binyegeza Yehova Imana mu biti vyo muri iryo tongo. 9 Yehova Imana aguma ahamagara uwo mugabo, avuga ati: «Uri hehe?» 10 Vyakabaye kera, yishura ati: «Numvise ijwi ryawe mw’itongo nca ngira ubwoba kuko nari gusa. Naciye ninyegeza.» 11 Na we amubaza ati: «Ni nde yakubwiye ko wari gusa+? Ubwo ntiwariye ku vyamwa vya ca giti nakubuza+?» 12 Uwo mugabo yishura ati: «Wa mugore wampa ni we yampaye ku vyamwa vyaco, nanje ndarya.» 13 Yehova Imana aca abwira uwo mugore ati: «Ivyo wakoze ni ibiki?» Umugore na we yishura ati: «Inzoka yampenze, nanje ndarya+.»
14 Yehova Imana aca abwira iyo nzoka+ ati: «Ko wakoze ivyo, uravumwe mu bikoko vyose vy’ibitungano no mu bikoko vyose vyo mw’ishamba. Uzogenda urakwega inda hasi, kandi uzorya umukungugu ubuzima bwawe bwose. 15 Nzoshira urwanko*+ hagati yawe+ na wa mugore+ no hagati y’uruvyaro* rwawe+ n’uruvyaro rwiwe+. Uruvyaro rwiwe ruzogufyonyora* umutwe+, nawe uzorukomeretsa* ku gitsintsiri+.»
16 Aca abwira uwo mugore ati: «Nzokwongereza cane ububabare ugira igihe wibungenze, kandi uzovyara urinze kubabara. Uzokwipfuza cane umugabo wawe, kandi na we azokuganza.»
17 Abwira Adamu* na we ati: «Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vy’igiti nari nagutegetse+ nti: “Ntuze ubiryeko”, isi iravumwe kubera wewe+. Uzorya ibiva muri yo ubanje kuruha*, ubuzima bwawe bwose+. 18 Izokumerera amahwa n’ibitovu, kandi uzorya ibiterwa vyo mw’ishamba. 19 Uzoronka ivyo urya* ubanje kubira icuya gushika usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wakuwemwo+. Uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.»
20 Inyuma y’ivyo, Adamu yita umugore wiwe Eva*, kuko yobaye nyina w’abantu* bose+. 21 Maze Yehova Imana akorera Adamu n’umugore wiwe impuzu ndende z’urushato, kugira bazambare+. 22 Yehova Imana avuga ati: «Ehe wa muntu yabaye nk’umwe muri twebwe ku bijanye no kumenya iciza n’ikibi+. Ubu rero, kugira ntahave yamura n’ivyamwa vy’igiti c’ubuzima+ akabirya maze akabaho ibihe bidahera . . .» 23 Yehova Imana aca aramwirukana mw’itongo rya Edeni+ kugira aje kurima ivu yari yarakuwemwo+. 24 Nuko yirukana uwo muntu maze ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi*+ hamwe n’inkota yaka umuriro iguma izunguruka, kugira arinde inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.
4 Nuko Adamu aryamana n’umugore wiwe Eva maze asama inda+. Eva ahejeje kuvyara Kayini+, aca avuga ati: «Mvyaye umuhungu mfashijwe na Yehova.» 2 Mu nyuma avyara mwenewabo Abeli+.
Abeli aba umwungere, Kayini na we aba umurimyi. 3 Haciye igihe, Kayini azana ku vyo yimbuye mu murima kugira abishikanire Yehova. 4 Abeli na we ashikana bimwebimwe mu vyavutse ubwa mbere mu bitungwa vyiwe+ hamwe n’ibinure vyavyo. Yehova ashima Abeli n’ishikanwa ryiwe+, 5 ariko ntiyashima Kayini n’ishikanwa ryiwe. Kayini aca arashavura cane, arijirirwa. 6 Maze Yehova abwira Kayini ati: «Kubera iki ushavuye cane kandi wijiriwe? 7 Aho wohindura ugakora ivyiza ntiwoshimwa*? Ariko nutahindura, hari igicumuro kibunze ku muryango kandi gishaka kukwigarurira. Ubwo uraza kugitsinda?»
8 Inyuma y’ivyo, Kayini abwira mwenewabo Abeli ati: «Tujane mu gahinga.» Nuko bamaze gushikayo, Kayini asimbira kuri mwenewabo Abeli aramwica+. 9 Mu nyuma Yehova abaza Kayini ati: «Mwenewanyu Abeli ari hehe?» Na we amwishura ati: «Sinzi. Mbaye umurinzi wa mwenewacu?» 10 Aca amubwira ati: «Wakoze ibiki? Umve! Amaraso ya mwenewanyu ariko arasemerera antakambira iyo ari mw’ivu+. 11 Ubu rero uravumwe, urirukanywe muri aka karere k’isi yasamitse akanwa ngo inywe amaraso ya mwenewanyu washeshe n’ukuboko kwawe+. 12 Niwarima isi, ntizokwimbuka. Uzoba icangazi n’impunzi mw’isi.» 13 Kayini aca abwira Yehova ati: «Igihano c’ikosa ryanje kiraremereye cane. 14 Uyu musi uranyirukanye muri aka karere kandi sinzosubira kukwegera. Ngiye kuba icangazi n’impunzi mw’isi, kandi uwuzombona wese ntazobura kunyica.» 15 Yehova amwishura ati: «Ku bw’ivyo, uwuzokwica Kayini wese azovyishura incuro indwi.»
Yehova aca ashiraho ikimenyetso* kugira ngo umuntu wese azobona Kayini ntamwice. 16 Kayini aca ava imbere ya Yehova, aja kuba mu gihugu c’ubuhungiro* mu buseruko bwa Edeni+.
17 Inyuma y’aho, Kayini aryamana n’umugore wiwe+. Nuko asama inda maze avyara Henoki. Kayini araheza yubaka igisagara maze acita izina ry’umuhungu wiwe Henoki. 18 Mu nyuma Henoki avyara Iradi. Iradi yavyaye Mehuyayeli, Mehuyayeli avyara Metushayeli, Metushayeli na we avyara Lameki.
19 Lameki yarongoye abagore babiri. Uwa mbere yitwa Ada, uwa kabiri na we Zila. 20 Ada avyara Yabali. Ni we yatanguje ivyo kuba mu mahema no kworora ibitungwa. 21 Mwenewabo yitwa Yubali. Ni we yatanguje ivyo kuvuza inanga n’umwironge. 22 Zila na we avyara Tubali-Kayini. Ni we yahingura ibikoresho vy’ubwoko bwose bikozwe mu mujumpu no mu cuma. Mushiki wa Tubali-Kayini yitwa Nayama. 23 Lameki rero abwira aya majambo abagore biwe, Ada na Zila ati:
«Nimunyumvirize, yemwe bagore ba Lameki,
nimutege ugutwi ijambo ryanje:
Nishe umugabo kubera yankomerekeje,
emwe, umugabo akiri muto kubera yankubise.
25 Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe maze avyara umuhungu. Eva amwita Seti*+ kuko yibwira ati: «Imana impaye* uwundi mwana* mu kibanza ca Abeli, kuko Kayini yamwishe+.» 26 Seti na we nyene avyara umuhungu maze amwita Enoshi+. Ico gihe ni ho abantu batangura kwambaza izina rya Yehova.
5 Iyi ni inkuru* yigana kahise ka Adamu. Umusi Imana yarema Adamu, yamuremye asa na yo+. 2 Yaremye umugabo n’umugore+. Umusi yabarema+, yarabahezagiye maze ibita «abantu*.»
3 Nuko Adamu ashikanye imyaka 130, avyara umuhungu basa, afise agashusho kiwe. Araheza amwita Seti+. 4 Adamu amaze kuvyara Seti yabayeho imyaka 800, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 5 Imyaka yose Adamu yamaze yabaye 930, araheza arapfa+.
6 Seti ashikanye imyaka 105, avyara Enoshi+. 7 Seti amaze kuvyara Enoshi yabayeho imyaka 807, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 8 Imyaka yose Seti yamaze yabaye 912, araheza arapfa.
9 Enoshi ashikanye imyaka 90, avyara Kenani. 10 Enoshi amaze kuvyara Kenani yabayeho imyaka 815, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 11 Imyaka yose Enoshi yamaze yabaye 905, araheza arapfa.
12 Kenani ashikanye imyaka 70, avyara Mahalaleli+. 13 Kenani amaze kuvyara Mahalaleli yabayeho imyaka 840, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 14 Imyaka yose Kenani yamaze yabaye 910, araheza arapfa.
15 Mahalaleli ashikanye imyaka 65, avyara Yaredi+. 16 Mahalaleli amaze kuvyara Yaredi yabayeho imyaka 830, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 17 Imyaka yose Mahalaleli yamaze yabaye 895, araheza arapfa.
18 Yaredi ashikanye imyaka 162, avyara Henoki+. 19 Yaredi amaze kuvyara Henoki yabayeho imyaka 800, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 20 Imyaka yose Yaredi yamaze yabaye 962, araheza arapfa.
21 Henoki ashikanye imyaka 65, avyara Metusela+. 22 Henoki amaze kuvyara Metusela yabandanije kugendana n’Imana y’ukuri imyaka 300, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 23 Imyaka yose Henoki yamaze yabaye 365. 24 Henoki yagumye agendana n’Imana y’ukuri+, hanyuma ntiyasubira kuboneka kuko Imana yamutwaye+.
25 Metusela ashikanye imyaka 187, avyara Lameki+. 26 Metusela amaze kuvyara Lameki yabayeho imyaka 782, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 27 Imyaka yose Metusela yamaze yabaye 969, araheza arapfa.
28 Lameki ashikanye imyaka 182, avyara umuhungu. 29 Nuko amwita Nowa*+, avuga ati: «Uyu azoturuhurira mu gikorwa cacu, igikorwa kiruhisha dukora kubera iyi si Yehova yavumye+.» 30 Lameki amaze kuvyara Nowa yabayeho imyaka 595, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa. 31 Imyaka yose Lameki yamaze yabaye 777, araheza arapfa.
32 Nowa amaze gukwiza imyaka 500, avyara Shemu+, Hamu+ na Yafeti+.
6 Abantu batanguye kugwira kw’isi maze bakavyara abakobwa, 2 abamarayika*+ batangura kubitegereza, babona ko bari beza. Nuko batangura kurongora abo bashatse bose. 3 Maze Yehova avuga ati: «Sinzokwihanganira umuntu ibihe vyose+, kuko ari umubiri* gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izoba imyaka 120+.»
4 Muri iyo misi n’inyuma y’aho, kw’isi hariho Abanefili*. Nuko abamarayika* babandanya kuryamana n’abakobwa b’abantu maze bavyara abahungu. Ni bo ba bantu ba kera bari bakomeye cane, ba bagabo ba rurangiranwa.
5 Yehova rero abona ko ububisha bw’umuntu bwari bwagwiriye kw’isi be n’uko mu mutima wiwe yaguma yiyumvira gukora ikibi gusa+. 6 Yehova aricuza* kubona yararemye abantu kw’isi, biramubabaza+ mu mutima. 7 Maze Yehova avuga ati: «Ngira nzimanganye kw’isi abantu naremye, umuntu n’ibitungwa, ibikoko bikwega inda hasi n’ibiguruka mu kirere, kuko nicuza kubona narabiremye.» 8 Ariko Nowa we Yehova aramushima.
9 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Nowa.
Nowa yari umugororotsi+. Ugereranije n’abantu bo mu gihe ciwe*, wewe yari intungane*. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri+. 10 Nowa yahavuye avyara abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti+. 11 Mugabo isi yari yaramaze kwononekara imbere y’Imana, yari yuzuyemwo ububisha*. 12 Emwe, Imana yararavye kw’isi isanga yarononekaye+. Ababa kuri yo bose bari bafise ingeso mbi+.
13 Imana ibwira Nowa iti: «Nafashe ingingo yo kuzimanganya abantu bose, kuko isi yuzuye ububisha kubera bo. Ngira ndabahonereze hamwe n’isi+. 14 Niwiyubakire ubwato* mu biti bifise uburembo+. Uzobucamwo ivyumba wongere ubusige ikaburimbi+ imbere n’inyuma. 15 Uku ni ko uzobwubaka: uburebure bwabwo buzoba intambwe 300, ubwaguke intambwe 50, amahagarara na yo intambwe 30*. 16 Uzobukorera idirisha* ryinjiza umuco ku ntambwe imwe uvuye hejuru. Umuryango wabwo uzowushire mu mbavu+ kandi uzobwubake nk’igorofa, ubuhe igice co hasi, ica kabiri n’ica gatatu.
17 Nanje ngira nzane umwuzure+ kw’isi kugira nzimanganye munsi y’ijuru ikintu cose gifise ubuzima*. Ikiri kw’isi cose kizopfa+. 18 Kandi ngiranye isezerano nawe. Uze winjire mu bwato uri kumwe n’abahungu bawe, umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe+. 19 Mu bwoko bwose bw’ibikoko+ uze winjize mu bwato bibiribibiri, ikigabo n’ikigore+, kugira bizorokoke. 20 Mu bikoko biguruka nk’uko amoko yavyo ari, mu bitungano nk’uko amoko yavyo ari, mu bikwega inda hasi vyose nk’uko amoko yavyo ari, bibiribibiri bizoza aho uri maze vyinjire mu bwato kugira birokoke+. 21 Nayo wewe, niwegeranye ibifungurwa vy’ubwoko bwose+ uzotwara, kugira ngo mwe n’ibikoko muzoronke ivyo murya.»
22 Nuko Nowa akora ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora gutyo nyene+.
7 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Nowa ati: «Injira mu bwato, wewe n’umuryango wawe wose, kuko ari wewe nasanze ugororotse mu bantu bo muri iki gihe*+. 2 Ku bwoko bwose bw’ibikoko bidahumanye uze winjirane indwi*+, ikigabo n’ikigore caco. Ku bihumanye uze winjirane bibiri gusa, ikigabo n’ikigore caco. 3 No mu bikoko biguruka mu kirere uze winjirane indwi*, ikigabo n’ikigore, kugira birokoke bibandanye kugwira mw’isi+. 4 Kuko hasigaye imisi indwi gusa nkagwisha imvura+ kw’isi imisi 40 n’amajoro 40+, kandi nzozimanganya kw’isi ikintu cose kiri n’ubuzima naremye+.» 5 Nuko Nowa akora ivyo Yehova yari yamutegetse vyose.
6 Nowa yari afise imyaka 600 igihe umwuzure watera kw’isi+. 7 Maze Nowa yinjira mu bwato ari kumwe n’abahungu biwe, umugore wiwe n’abagore b’abahungu biwe, imbere y’uko umwuzure ushika+. 8 Mu bikoko bidahumanye vyose no mu bihumanye, mu biguruka no mu bigendagenda kw’isi+ vyose, 9 hinjira mu bwato bibiribibiri, ikigabo n’ikigore, bija aho Nowa ari nk’uko Imana yari yamutegetse. 10 Nuko haciye imisi indwi, umwuzure uratera kw’isi.
11 Nowa ashikanye imyaka 600, ku musi ugira 17 w’ukwezi kugira kabiri, kuri uwo musi nyene amasoko y’amazi yose yo mu kirere arasegenyuka, ingomero zose zo kw’ijuru zirugururwa+. 12 Imvura imara imisi 40 n’amajoro 40 igwa kw’isi. 13 Kuri uwo musi nyene, Nowa yinjira mu bwato ari kumwe n’abahungu biwe, Shemu, Hamu na Yafeti+ hamwe n’umugore wiwe n’abagore batatu b’abahungu biwe+. 14 Binjirana n’ibikoko vyo mw’ishamba vyose nk’uko amoko yavyo ari, ibitungano vyose nk’uko amoko yavyo ari, ibikwega inda hasi vyose nk’uko amoko yavyo ari, n’ibiguruka mu kirere vyose nk’uko amoko yavyo ari, inyoni zose n’ibikoko vyose bifise amababa. 15 Ibikoko vy’ubwoko bwose bibandanya kwinjira mu bwato iyo Nowa ari, ari bibiribibiri. 16 Hinjira ikigabo n’ikigore vy’ubwoko bwose, nk’uko Imana yari yamutegetse. Yehova aca arugara umuryango.
17 Imvura ibandanya kugwa kw’isi imisi 40. Amazi aguma yongerekana maze atangura guterura bwa bwato, buguma bureremba hejuru cane y’isi. 18 Amazi aba menshi cane kandi aguma yongerekana kw’isi, ariko ubwato buguma bureremba kuri yo. 19 Aguma agwira kw’isi ku buryo apfuka+ imisozi miremire yose yari munsi y’ijuru. 20 Araduga gushika ku ntambwe 15* hejuru y’imisozi.
21 Nuko ibintu vyose bifise ubuzima* vyagendagenda kw’isi, vyaba ibikoko biguruka, ibitungano, ivyo mw’ishamba, udukoko dutoduto* hamwe n’abantu+, vyose birapfa+. 22 Ikintu cose gihema* cari kw’isi kirapfa+. 23 Imana izimanganya kw’isi ikintu cose gifise ubuzima: abantu n’ibikoko, mbere n’ibikwega inda hasi n’ibiguruka mu kirere, vyose bizimangana kw’isi+. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato ni bo bonyene barokotse+. 24 Amazi amara imisi 150+ yuzuye kw’isi.
8 Inyuma y’ivyo, Imana yitaho* Nowa n’ibikoko vyose vyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko vyose vy’ibitungano vyari kumwe na we mu bwato+. Nuko Imana ihuhutisha umuyaga kw’isi, amazi aca atangura kugabanuka. 2 Ya mazi yo mu kirere na za ngomero zo kw’ijuru birugarwa, imvura ica irareka kugwa*+. 3 Amazi atangura kugabanuka bukebuke kw’isi. Haciye imisi 150, yari yagabanutse cane. 4 Ku musi ugira 17 w’ukwezi kugira indwi, bwa bwato buhagarara ku misozi ya Ararati. 5 Amazi abandanya kugabanuka gushika mu kwezi kugira cumi. Ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, amasonga y’imisozi araseruka+.
6 Haciye imisi 40, Nowa yugurura idirisha+ yari yakoreye bwa bwato, 7 hanyuma arungika igikona. Ico gikona kiguma kigenda congera kigaruka, gushika amazi akamye kw’isi.
8 Mu nyuma arungika inuma kugira arabe ko amazi yari yagabanutse kw’isi. 9 Iyo numa ntiyaronka ahantu igwa, ica igaruka aho Nowa yari ari mu bwato, kuko amazi yari acuzuye kw’isi+. Nuko aramvura ukuboko ayinjiza mu bwato. 10 Arindira yindi misi indwi, aca asubira kurungika ya numa. 11 Igarutse amaja ku mugoroba, Nowa abona ifise mu kanwa akababi k’igiti c’umwelayo* yari ihejeje gucacura. Nowa aca amenya ko amazi yari yagabanutse kw’isi+. 12 Asubira kurindira yindi misi indwi, hanyuma arungika ya numa ariko ntiyongera kugaruka.
13 Mu mwaka ugira 601+, ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, amazi yari yakamye kw’isi. Nowa araheza akurako agace gatoyi k’ibisakazo*, abona isi iriko irumuka. 14 Ku musi ugira 27 w’ukwezi kugira kabiri, isi yari yamaze kwumuka neza.
15 Imana rero ibwira Nowa iti: 16 «Sohoka uve mu bwato, mwe n’umugore wawe n’abahungu bawe hamwe n’abagore b’abahungu bawe+. 17 Nusohokane n’ibikoko vy’ubwoko bwose+ muri kumwe: ibiguruka, ibitungano, ivyo mw’ishamba n’ibikwega inda hasi vyose, kugira birondoke, bigwire kandi vyuzure isi+.»
18 Nuko Nowa arasohoka ari kumwe n’abahungu biwe+, umugore wiwe n’abagore b’abahungu biwe. 19 Ibikoko vyose, ibikwega inda hasi, ibiguruka n’ibindi bikoko vyose bigendagenda kw’isi biva mu bwato, nk’uko amoko yavyo ari+. 20 Nowa aca yubakira igicaniro+ Yehova maze atora bimwebimwe mu bikoko vyose bidahumanye no mu bikoko vyose biguruka bidahumanye+, abishikanira* Imana kuri ico gicaniro+. 21 Hanyuma Yehova ahimbarwa n’akamoto keza* k’iryo shikanwa. Maze Yehova yibwira mu mutima wiwe ati: «Sinzokwigera nsubira kuvuma isi+ kubera umuntu, kuko aguma yiyumvira gukora ikibi gusa kuva mu buto bwiwe+. Sinzokwigera nsubira guhonya ikintu cose gifise ubuzima nk’uko nabigize+. 22 Kuva ubu, iteragira n’iyimbura, ubukanye n’ubushuhe, ici n’urushana hamwe n’umurango n’ijoro, ntibizokwigera bibura kw’isi+.»
9 Nuko Imana ihezagira Nowa n’abahungu biwe, ibabwira iti: «Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi+. 2 Ndabahaye kuganza+ ibikoko vyose vyo kw’isi, ibikoko vyose biguruka mu kirere n’ibindi bikoko vyose bigendagenda kw’isi hamwe n’amafi yose yo mu kiyaga, kandi bizobatinya. 3 Ibikoko vyose ndabibahaye ngo bibabere ibifungurwa+. Ndabibahaye vyose nk’uko nabahaye ibiterwa bitotahaye+. 4 Ariko inyama zirimwo ubuzima bwazo, ni ukuvuga amaraso yazo+, ntimuze muzirye+. 5 Kandi amaraso yanyu, ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose kizoyasesa, kandi umuntu wese azosesa amaraso ya mugenziwe nzoyamwishuza+. 6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe na we azoseswa n’umuntu+, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo+. 7 Nayo mwebwe, nimurondoke, mugwire, mwongerekane cane kw’isi kandi muyuzure+.»
8 Maze Imana ibwira Nowa n’abahungu biwe iti: 9 «Ngiraniye isezerano namwe+ n’uruvyaro rwanyu 10 hamwe n’ibifise ubuzima vyose muri kumwe: inyoni, ibikoko vy’ibitungano n’ibindi bikoko vyose muri kumwe, ibikoko vyose bivuye mu bwato, emwe ibikoko vyose vyo kw’isi+. 11 Egome, ngiraniye isezerano namwe: sinzokwigera nsubira guhonya igifise umubiri cose nkoresheje umwuzure, kandi sinzokwigera nsubira gutikiza isi nkoresheje umwuzure+.»
12 Imana yongerako iti: «Iki ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye namwe hamwe n’ibikoko vyose muri kumwe, uko urunganwe* ruzokurikira urundi: 13 nshize umunywamazi wanje mu bicu, kandi uzoba ikimenyetso c’isezerano riri hagati yanje n’isi. 14 Igihe cose nzanye ibicu hejuru y’isi, umunywamazi uzoca uboneka muri vyo. 15 Nanje nzoca nibuka isezerano nagiraniye namwe be n’ibikoko vy’ubwoko bwose. Amazi ntazokwigera asubira gucika umwuzure wo gutikiza ibiri n’umubiri vyose+. 16 Uwo munywamazi uzoboneka mu bicu, nanje nzowubona nce nibuka isezerano ry’ibihe bidahera nagiraniye n’igifise umubiri cose kiri kw’isi.»
17 Imana yongera kubwira Nowa iti: «Ico ni co kimenyetso c’isezerano ngiraniye nawe n’igifise umubiri cose kiri kw’isi+.»
18 Abahungu ba Nowa bavuye mu bwato bari Shemu, Hamu na Yafeti+. Hamu yahavuye avyara Kanani+. 19 Uko ari batatu bari abahungu ba Nowa, kandi abantu bose baba kw’isi ni bo bakomotseko+.
20 Nuko Nowa aba umurimyi maze atera umurima w’imizabibu. 21 Hanyuma umusi umwe anywa umuvinyu araborerwa, araheza yiyambura impuzu ari mw’ihema ryiwe. 22 Maze Hamu se wa Kanani abona se wiwe ari gusa, aca aja kubibwira benewabo babiri bari hanze. 23 Shemu na Yafeti baca bafata impuzu bayishira ku bitugu, binjira bagenza imigongo. Bapfuka se baraba hirya, ntibabona ubwambure bwiwe.
24 Umuvinyu umaze kumuvako, Nowa amenya ivyo umuhungu wiwe mutoyi yari yamukoreye, 25 aca avuga ati:
«Kanani arakavumwa+.
Nabe uwa nyuma mu bashumba ba benewabo+.»
26 Yongerako ati:
«Hashemezwe Yehova, Imana ya Shemu,
ariko Kanani nacike umushumba wa Shemu+.
27 Imana nihe akarere kanini cane Yafeti,
kandi niyibere mu mahema ya Shemu.
Kanani kandi nabe umushumba wa Yafeti.»
28 Nowa abandanya kubaho imyaka 350 inyuma y’umwuzure+. 29 Imyaka yose Nowa yamaze yabaye 950, araheza arapfa.
10 Iyi ni inkuru yigana kahise k’abahungu ba Nowa ari bo Shemu+, Hamu na Yafeti.
Inyuma y’umwuzure ni ho batanguye kuvyara+. 2 Abahungu ba Yafeti bari Gomeri+, Magogi+, Madayi, Yavani, Tubali+, Mesheki+ na Tirasi+.
3 Abahungu ba Gomeri bari Ashikenazi+, Rifati na Togaruma+.
4 Abahungu ba Yavani bari Elisha+, Tarushishi+, Kitimu+ na Dodanimu.
5 Abantu baba mu mazinga bakomotse kuri abo, kandi bayabayemwo hisunzwe indimi zabo, imiryango yabo n’amahanga yabo.
6 Abahungu ba Hamu bari Kushi, Misirayimu+, Puti+ na Kanani+.
7 Abahungu ba Kushi bari Seba+, Havila, Sabuta, Rama+ na Sabuteka.
Abahungu ba Rama na bo bari Sheba na Dedani.
8 Kushi kandi ni we yavyaye Nimurodi. Nimurodi ni we yatanguye kuba umurwanyi akomeye cane kw’isi. 9 Yari umuhigi akomeye cane arwanya Yehova. Ni ho havuye imvugo ngo: «Nka Nimurodi, wa muhigi akomeye cane arwanya Yehova.» 10 Ibisagara vya mbere vyari bigize ubwami bwiwe vyari Babeli+, Ereki+, Akadi na Kalune. Vyari mu gihugu ca Shinari+. 11 Nuko ava muri ico gihugu aja muri Ashuri+, maze yubaka Ninewe+, Rehoboti-Iri, Kala 12 na Reseni. Reseni yari hagati y’igisagara ca Ninewe n’ica Kala. Ivyo vyose hamwe vyari bigize igisagara gikomeye*.
13 Misirayimu yavyaye Ludimu+, Anamimu, Lehabimu, Nafituhimu+, 14 Patirusimu+, Kasiluhimu (ari we Abafilisitiya+ bakomotseko) na Kafutorimu*+.
15 Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni+, akurikizako Heti+. 16 Abandi bamukomotseko ni Abayebusi+, Abamori+, Abagirugashi, 17 Abahiwi+, Abaruki, Abasini, 18 Abaruvadi+, Abasemari n’Abahamati+. Imiryango y’Abanyakanani yahavuye ikwiragira hirya no hino. 19 Urubibe rw’Abanyakanani rwava i Sidoni rugashika i Gerari+ hafi ya Gaza+, rukabandanya gushika i Sodomu, Gomora+, Adima n’i Zeboyimu+ hafi ya Lasha. 20 Abo ni bo bakomotse kuri Hamu hisunzwe imiryango yabo, indimi zabo, uturere twabo n’amahanga yabo.
21 Shemu, mutoyi* wa Yafeti akaba na sekuruza w’abakomoka kuri Eberi+ bose, na we nyene yaravyaye abana. 22 Abahungu ba Shemu bari Elamu+, Ashuru+, Arupakisadi+, Ludi na Aramu+.
23 Abahungu ba Aramu bari Uzi, Huli, Geteri na Mashi.
24 Arupakisadi yavyaye Shela+, Shela na we avyara Eberi.
25 Eberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Pelegi*+, kuko mu gihe ciwe ari ho abantu bakwiragiye kw’isi*. Mwenewabo yitwa Yokitani+.
26 Yokitani yavyaye Alumodadi, Shelefu, Hasarumaweti, Yerahi+, 27 Hadoramu, Uzalu, Dikila, 28 Obali, Abimayeli, Sheba, 29 Ofiri+, Havila na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.
30 Akarere babamwo kava i Mesha kagashika i Sefaru mu misozi yo mu buseruko.
31 Abo ni bo bakomotse kuri Shemu hisunzwe imiryango yabo, indimi zabo, uturere twabo n’amahanga yabo+.
32 Iyo ni yo miryango y’abahungu ba Nowa hisunzwe uko yagiye irakurikirana, nk’uko amahanga yabo ari. Inyuma y’umwuzure, amahanga yakwiragiye kw’isi akomotse kuri iyo miryango+.
11 Ico gihe abantu bose bo kw’isi bavuga ururimi rumwe kandi bakoresha amajambo amwe. 2 Nuko bariko baragenda berekeza mu buseruko, babona ahantu h’ikiyaya mu gihugu ca Shinari+, baca baba ng’aho. 3 Maze babwirana bati: «Nimuze dufyature amatafari hanyuma tuyaturire.» Baraheza bakoresha amatafari mu kibanza c’amabuye n’ikaburimbi mu kibanza c’ubudongo. 4 Bongerako bati: «Reka twiyubakire igisagara n’umunara ufise isonga rishika kw’ijuru, kugira twiheshe izina rurangiranwa kandi ntidukwiragire kw’isi yose+.»
5 Maze Yehova yitegereza* ico gisagara n’uwo munara abantu bari bubatse. 6 Yehova avuga ati: «Aba bantu barunze ubumwe* kandi bavuga ururimi rumwe+, none ehe raba ivyo batanguye gukora. Erega ubu nta kintu na kimwe bazokwiyumvira gukora ngo kibananire. 7 Ingo tumanuke+, tuvurunganye ururimi rwabo kugira ntibasubire kwumvikana.» 8 Yehova aca abashwiragiza kw’isi yose+, baca bagenda baraheba kwubaka ico gisagara. 9 Ni co gituma ciswe Babeli*+, kuko ari ho Yehova yavurunganirije ururimi rw’ababa kw’isi yose, kandi ni ho Yehova yabashwiragirije kw’isi yose.
10 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Shemu+.
Shemu yari afise imyaka 100 igihe yavyara Arupakisadi+, hakaba hari haheze imyaka ibiri umwuzure uteye. 11 Shemu amaze kuvyara Arupakisadi yabayeho imyaka 500, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa+.
12 Arupakisadi ashikanye imyaka 35 avyara Shela+. 13 Arupakisadi amaze kuvyara Shela yabayeho imyaka 403, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
14 Shela ashikanye imyaka 30 avyara Eberi+. 15 Shela amaze kuvyara Eberi yabayeho imyaka 403, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
16 Eberi ashikanye imyaka 34 avyara Pelegi+. 17 Eberi amaze kuvyara Pelegi yabayeho imyaka 430, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
18 Pelegi ashikanye imyaka 30 avyara Reyu+. 19 Pelegi amaze kuvyara Reyu yabayeho imyaka 209, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
20 Reyu ashikanye imyaka 32 avyara Serugi. 21 Reyu amaze kuvyara Serugi yabayeho imyaka 207, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
22 Serugi ashikanye imyaka 30 avyara Nahori. 23 Serugi amaze kuvyara Nahori yabayeho imyaka 200, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
24 Nahori ashikanye imyaka 29 avyara Tera+. 25 Nahori amaze kuvyara Tera yabayeho imyaka 119, ayivyaramwo abahungu n’abakobwa.
26 Tera ashikanye imyaka 70 avyara Aburamu+, Nahori+ na Harani.
27 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Tera.
Tera yavyaye Aburamu, Nahori na Harani. Harani na we yavyaye Loti+. 28 Harani yapfuye se wiwe Tera akiriho, apfira mu gisagara ca Uri+ c’Abakaludaya+ mu gihugu ciwe c’amavukiro. 29 Aburamu na Nahori bahavuye barongora. Umugore wa Aburamu yitwa Sarayi+, uwa Nahori na we yitwa Milika+, umukobwa wa Harani. Harani yari se wa Milika na Isika. 30 Sarayi yari ingumba+, nta kana yari afise.
31 Mu nyuma, Tera afata Aburamu umuhungu wiwe, na Loti umwuzukuru wiwe+ ari we muhungu wa Harani, na Sarayi umukazana wiwe ari we mugore wa Aburamu umuhungu wiwe, bava mu gisagara ca Uri c’Abakaludaya maze baja mu gihugu ca Kanani+. Bahavuye bashika i Harani+ maze babayo. 32 Imyaka yose Tera yamaze yabaye 205, araheza apfira i Harani.
12 Yehova abwira Aburamu ati: «Va mu gihugu cawe, mu ncuti zawe no mu muryango wawe, uje mu gihugu nzokwereka+. 2 Nzokugira ihanga rikomeye kandi nzoguhezagira. Izina ryawe nzorigira rurangiranwa kandi uzobera abandi umuhezagiro+. 3 Nzohezagira abaguhezagira, mvume abakuvuma+, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe+.»
4 Aburamu aca aragenda nk’uko Yehova yari yamubwiye, na Loti ajana na we. Aburamu yari afise imyaka 75 igihe yava i Harani+. 5 Aburamu afata Sarayi+ umugore wiwe, Loti umuhungu wa mwenewabo+, ibintu vyose bari bararonse+ n’abashumba bari bararonkeye i Harani, maze bafata inzira baja mu gihugu ca Kanani+. Bashitse i Kanani, 6 Aburamu aca muri ico gihugu, arabandanya gushika mu karere ka Shekemu+, hafi y’ibiti binini vya More+. Ico gihe Abanyakanani baba muri ico gihugu. 7 Maze Yehova abonekera Aburamu, amubwira ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.» Aburamu aca yubakira igicaniro Yehova aho hantu yari yamubonekeye. 8 Mu nyuma ava ng’aho aja mu misozi iri mu buseruko bwa Beteli+, ashinga ihema ryiwe ku buryo Beteli iba mu burengero, Ayi+ na yo mu buseruko. Araheza yubakira igicaniro Yehova+ ng’aho, atangura kwambaza izina rya Yehova+. 9 Hanyuma Aburamu asambura ihema maze afata urugendo aja i Negebu+, agenda arimukira mu bibanza bitandukanye.
10 Nuko inzara iratera mu gihugu, Aburamu aca amanuka mu Misiri kugira abe arabayo+, kuko inzara yari ikaze cane+. 11 Agira yinjire mu Misiri, abwira umugore wiwe Sarayi ati: «Umve, ndazi ko uri mwiza cane+. 12 Abanyamisiri nibakubona, ntibazobura kuvuga ngo: “Ni umugore wiwe.” Bazoca banyica nawe bakureke. 13 Ndagusavye rero uzovuge ko uri mushikanje kugira ntibangirire nabi, uzoba urokoye ubuzima bwanje+.»
14 Aburamu akimara kwinjira mu Misiri, Abanyamisiri babona ko umugore wiwe yari mwiza cane. 15 Abaganwa ba Farawo na bo nyene baramubona, baca batangura kubwira Farawo ukuntu yari mwiza. Uwo mugore rero aca ajanwa ku kirimba kwa Farawo. 16 Farawo aca afata neza Aburamu kubera Sarayi, amuha intama, inka, indogobwa, abasuku n’abasukukazi hamwe n’ingamiya+. 17 Maze Yehova ateza Farawo n’urugo rwiwe ivyago bikomeye kubera Sarayi, umugore wa Aburamu+. 18 Farawo aca ahamagara Aburamu, amubwira ati: «Ivyo wankoreye ni ibiki? Kuki utambwiye ko ari umugore wawe? 19 Kuki wavuze ko ari mushikawe+? Urazi ko nahatswe kumugira umugore wanje! Ehe ng’uyu umugore wawe. Mutore ugende!» 20 Maze Farawo ategeka abantu biwe ngo bamurungike agende, ajane n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose+.
13 Aburamu aca ava mu Misiri aduga i Negebu+, ari kumwe n’umugore wiwe n’ivyo yari afise vyose hamwe na Loti. 2 Aburamu yari atunze cane: yari afise ibitungwa, ifeza n’inzahabu vyinshi cane+. 3 Nuko ava i Negebu aja i Beteli, agenda arimukira mu bibanza bitandukanye gushika hamwe yari yarashinze ihema hagati ya Beteli na Ayi+, 4 hamwe yari yarubatse igicaniro. Ashitseyo aca yambaza izina rya Yehova.
5 Loti yari kumwe na Aburamu, kandi na we nyene yari afise intama, inka n’amahema. 6 Ntivyaba rero bigikunda ko bagumana muri ako karere, kuko ibintu vyabo vyari vyaragwiriye cane ku buryo bitari bigishoboka ko baguma babana. 7 Abungere ba Aburamu batangura gushwana n’abungere ba Loti. (Ico gihe Abanyakanani n’Abaperizi baba muri ako karere+.) 8 Maze Aburamu abwira Loti+ ati: «Ndagusavye ntihabe ugushwana hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abungere bawe, kuko tuvukana. 9 Ehe igihugu cose kiri mu maboko yawe. Reka dupfume dutandukana. Niwaja ibubamfu, nanje ndaja iburyo. Niwaja iburyo na ho, nanje ndaja ibubamfu.» 10 Loti yunamura amaso maze abona ko akarere kose ka Yorodani+ gushika i Zowari+ kari kavomereye neza. Kari kameze nka wa murima wa Yehova+, nk’igihugu ca Misiri (aho hari imbere y’uko Yehova atikiza Sodomu na Gomora). 11 Loti rero ahitamwo akarere kose ka Yorodani, aca yimukira mu buseruko. Ukwo ni ko batandukanye. 12 Aburamu aca aba mu gihugu ca Kanani, Loti na we aba mu bisagara vyo muri ako karere+. Amaherezo, Loti ashinga ihema ryiwe hafi ya Sodomu. 13 Ariko abantu b’i Sodomu bari babi, baracumura cane kuri Yehova+.
14 Loti amaze gutandukana na Aburamu, Yehova abwira Aburamu ati: «Ndagusavye wunamure amaso, urabe mu buraruko no mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero, 15 kuko iki gihugu cose ubona nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe, kibe rwanyu ibihe vyose+. 16 Kandi uruvyaro rwawe nzorugwiza nka kurya kw’umukungugu wo kw’isi. Nimba umuntu yoshobora guharura umukungugu wo kw’isi, n’uruvyaro rwawe rero rwoshobora guharurwa+. 17 Haguruka, ugendure iki gihugu cose iyo kiva kikagera, kuko ari wewe nzogiha.» 18 Nuko Aburamu abandanya kuba mu mahema. Yahavuye aja kuba mu biti binini biri i Mamure+ muri Heburoni+, maze yubakira igicaniro Yehova ng’aho+.
14 Ico gihe, Amurafeli umwami wa Shinari+, Ariyoki umwami wa Elasari, Kedolawomeri+ umwami wa Elamu+ na Tidali umwami wa Goyimu, 2 baja gutera Bera umwami wa Sodomu+, Birisha umwami wa Gomora+, Shinabu umwami wa Adima, Shemeberi umwami wa Zeboyimu+ n’umwami wa Bela ari yo Zowari. 3 Bose bakoraniriza abasoda babo mu kiyaya* ca Sidimu+, ari ho hitwa kandi ikiyaga c’Umunyu+.
4 Bari bamaze imyaka 12 baganzwa na Kedolawomeri ariko mu mwaka ugira 13 baramugarariza. 5 Mu mwaka ugira 14, Kedolawomeri n’abami bari kumwe na we baca baraza kubatera, batsindira Abarefayimu i Ashiteroti-Karunayimu, Abazuzimu babatsindira i Hamu, Abemimu+ babatsindira i Shave-Kiriyatayimu, 6 Abahori+ na bo babatsindira ku musozi wabo Seyiri+ gushika i Eli-Parani hafi y’ubugaragwa. 7 Hanyuma baragaruka, bashika i Eni-Mishipati ari ho Kadeshi+ maze bigarurira akarere kose k’Abamaleki+ bongera batsinda Abamori+ baba i Hazazoni-Tamari+.
8 Nuko umwami wa Sodomu, uwa Gomora, uwa Adima, uwa Zeboyimu n’uwa Bela ari yo Zowari, baca baja* mu kiyaya ca Sidimu 9 kugira barwane na Kedolawomeri umwami wa Elamu, Tidali umwami wa Goyimu, Amurafeli umwami wa Shinari na Ariyoki umwami wa Elasari+: abami bane kuri batanu. 10 Ico gihe ikiyaya ca Sidimu cari cuzuyemwo ibinogo vy’ikaburimbi. Umwami wa Sodomu n’uwa Gomora baca babigwamwo bariko barahunga, abasigaye na bo bahungira mu misozi. 11 Abatahukanye intsinzi baca bafata ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora n’ibifungurwa vyaho vyose barigira+. 12 Batwara na Loti umuhungu wa mwenewabo na Aburamu yaba i Sodomu+ n’ivyo yari atunze, maze babandanya urugendo.
13 Inyuma y’ivyo, umuntu yari yahunze araza abibwira Aburamu Umuheburayo. Ico gihe yaba mu biti binini vya Mamure Umwamori+, mwenewabo na Eshikoli na Aneri+. Abo bagabo bari bifatanije na Aburamu. 14 Aburamu rero yumva ko incuti yiwe+ yari yagizwe imbohe. Aca akoranya abantu biwe bigishijwe kurwana, abashumba 318 bavukiye mu rugo rwiwe maze arabakurikira gushika i Dani+. 15 Ahengera mw’ijoro maze agabura abantu biwe mu migwi, araheza atera abo bami ari kumwe n’abashumba biwe kandi arabatsinda. Arabakurikira gushika i Hoba mu buraruko bwa Damasiko. 16 Agarura ibintu vyose, agarura na Loti incuti yiwe, ibintu vyiwe, abagore bari bagizwe imbohe hamwe n’abandi bantu.
17 Aburamu agarutse avuye gutsinda Kedolawomeri n’abami bari kumwe na we, umwami wa Sodomu aca aza kumusanganira mu kiyaya ca Shave, ari co kiyaya c’Umwami+. 18 Melekisedeki+ umwami wa Salemu+ na we amuzanira umukate n’umuvinyu. Yari umuherezi w’Imana Musumbavyose+.
19 Maze aramuhezagira, avuga ati:
«Uragahezagirwa n’Imana Musumbavyose,
yo yaremye ijuru n’isi.
20 Hashemezwe kandi Imana Musumbavyose,
yo yatumye utsinda abansi bawe!»
Aburamu aca amuha ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose+.
21 Inyuma y’ivyo, umwami wa Sodomu abwira Aburamu ati: «Jewe mpa abantu, nawe utware ibintu.» 22 Ariko Aburamu amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana Musumbavyose, we yaremye ijuru n’isi. 23 Nta kintu na kimwe ntwara mu bintu vyawe, naho rwoba urunyuzi canke umugozi w’ikirato*, kugira ntuzohave uvuga ngo: “Ni jewe natungishije Aburamu.” 24 Nta kindi ntwara uretse ivyo abantu banje bamaze kurya. Ariko abagabo twajanye, ni ukuvuga Aneri, Eshikoli na Mamure+, nibatore imigabane yabo.»
15 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Aburamu mw’iyerekwa ati: «Ntutinye+ Aburamu. Ndi inkinzo yawe+. Impembo yawe izoba nini cane+.» 2 Aburamu amwishura ati: «Mukama Segaba Yehova, uzompa iki ko gushika n’ubu ata kana ndaronka, kandi uwuzotorana ivyo mu rugo rwanje akaba ari Eliyezeri+ umuntu w’i Damasiko?» 3 Yongerako ati: «Raba nta ruvyaro*+ wampaye, kandi umukozi* wo mu rugo rwanje ni we azotorana ivyanje.» 4 Ariko Yehova amwishura ati: «Uyo si we azotorana ivyawe. Umuhungu wawe bwite ni we azobitorana+.»
5 Imana ica imusohora hanze imubwira iti: «Ndagusavye urabe mu kirere, uharure inyenyeri nimba wobishobora.» Yongerako iti: «Ukwo ni ko uruvyaro* rwawe ruzongana+.» 6 Nuko Aburamu yizera Yehova+, na we aca abona ko ari umugororotsi*+. 7 Imana imubwira kandi iti: «Ndi Yehova, uwagukuye mu gisagara ca Uri c’Abakaludaya kugira ndaguhe iki gihugu ngo kibe rwawe+.» 8 Aburamu yishura ati: «Mukama Segaba Yehova, nokwemezwa n’iki ko kizoba rwanje?» 9 Imana ica imubwira iti: «Tora inka y’ishashi y’imyaka itatu, impene ivyara y’imyaka itatu, impfizi y’intama y’imyaka itatu, intunguru hamwe n’inuma ikiri nto.» 10 Aburamu aca atora ivyo bintu vyose, abikatamwo kubirikubiri araheza apanga ibihimba vyavyo kimwe kirabana n’ikindi*, ariko inyoni ntiyazikata. 11 Ibisiga biguma bimanuka kurya iyo mivyimba, mugabo akaguma avyirukana.
12 Izuba rigira rirenge, Aburamu afatwa n’itiro ryinshi maze umwijima uteye ubwoba uramuhwikira. 13 Imana ica imubwira iti: «Umenye neza ko abagukomokako* bazoba abanyamahanga mu gihugu atari rwabo, kandi abantu bo muri ico gihugu bazobagira abaja bongere babatoteze imyaka 400+. 14 Mugabo nzocira urubanza iryo hanga rizobagira abaja+, kandi inyuma y’aho bazovayo bafise ibintu vyinshi+. 15 Nayo wewe, uzohamvya ba sokuruza bawe amahoro, uzohambwa wisaziye neza+. 16 Ariko bazogaruka hano+ mu gihe c’urunganwe* rugira kane, kuko igihe co guhana Abamori kitaragera*+.»
17 Izuba rimaze kurenga, bumaze kwira cane, aza abona ifuru ifumba umwotsi, maze igishirira kirurumba gica hagati ya vya bihimba. 18 Kuri uwo musi Yehova agirana isezerano na Aburamu+, avuga ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini ari rwo Efurate+. 19 Nzobaha akarere k’Abakeni+, ak’Abakenizi, Abakadimoni, 20 Abaheti+, Abaperizi+, Abarefayimu+, 21 Abamori, Abanyakanani, Abagirugashi n’Abayebusi+.»
16 Sarayi umugore wa Aburamu nta bana yari afise+, ariko yari afise umusukukazi w’Umunyamisiri yitwa Hagari+. 2 Sarayi rero abwira Aburamu ati: «Urabona ko Yehova atankundiye kuvyara. Ndagusavye uryamane n’umusukukazi wanje. Hari aho yomvyarira abana+.» Nuko Aburamu yemera ivyo Sarayi amubwiye. 3 Sarayi umugore wiwe aca afata Hagari umusukukazi wiwe w’Umunyamisiri, amuha umugabo wiwe Aburamu ngo na we amubere umugore. Ico gihe Aburamu yari amaze imyaka cumi aba mu gihugu ca Kanani. 4 Aburamu araheza aryamana na Hagari, hanyuma aribungenga. Hagari amenye ko yibungenze, aca atangura gusuzugura inabuja.
5 Maze Sarayi abwira Aburamu ati: «Ariko amfata nabi kubera wewe. Ni je naguhaye umusukukazi wanje*, mugabo amaze kumenya ko yibungenze yaciye atangura kunsuzugura. Yehova aducire urubanza twe na wewe.» 6 Aburamu amwishura ati: «Ehe umusukukazi wawe ari mu maboko yawe. Numugire uko ushaka.» Sarayi aca atangura kumufata nabi gushika n’aho ata akomoka.
7 Mu nyuma, umumarayika wa Yehova amusanga mu gahinga hafi y’iriba ry’amazi riri ku nzira ija i Shura+. 8 Amubaza ati: «Hagari musukukazi wa Sarayi, uva he ukaja he?» Amwishura ati: «Ndiko mpunga mabuja Sarayi.» 9 Umumarayika wa Yehova amubwira ati: «Subira kwa nyokobuja, wiyoroshe imbere yiwe.» 10 Uwo mumarayika wa Yehova abandanya ati: «Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe ku buryo ata woshobora kuruharura+.» 11 Umumarayika wa Yehova yongerako ati: «Raba uribungenze kandi uzovyara umuhungu. Uze umwite Ishimayeli* kuko Yehova yumvise amarira yawe. 12 Azomera nk’indogobwa* yo mw’ishamba. Azorwanya abantu bose*, kandi na bo bazomurwanya. Vyongeye, azoshinga ihema ryiwe imbere ya benewabo bose.»
13 Hagari aca yambaza izina rya Yehova Imana yariko ivugana na we, avuga ati: «Uri Imana ibona+.» Yongerako ati: «Aha nyene nabonye umwe ambona?» 14 Ni co gituma iryo riba ryiswe Beri-Lahayi-Royi*. (Riri hagati ya Kadeshi na Beredi.) 15 Mu nyuma Hagari avyarira Aburamu umuhungu, maze Aburamu amwita Ishimayeli+. 16 Aburamu yari afise imyaka 86 igihe Hagari yavyara Ishimayeli.
17 Aburamu amaze imyaka 99, Yehova aramubonekera amubwira ati: «Ndi Imana Mushoboravyose. Gendera imbere yanje kandi werekane ko uri intungane*. 2 Nzoshitsa isezerano riri hagati yanje nawe+, kandi uruvyaro rwawe nzorugwiza cane, cane rwose+.»
3 Aburamu aca arunama mu maso hashika hasi, maze Imana ibandanya kumubwira iti: 4 «Naragiraniye isezerano nawe+, kandi vy’ukuri uzoba se w’amahanga menshi+. 5 Kuva ubu ntucitwa Aburamu*. Uzokwitwa Aburahamu*, kuko nzokugira se w’amahanga menshi. 6 Uruvyaro rwawe nzorugwiza cane, cane rwose. Nzotuma uvamwo amahanga menshi, kandi abami bazogukomokako+.
7 Nzokwubahiriza isezerano riri hagati yanje nawe+ hamwe n’uruvyaro* rwawe, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana. Ni isezerano ry’ibihe bidahera ry’uko nzoba Imana yawe n’Imana y’uruvyaro rwawe. 8 Mwe n’uruvyaro* rwawe nzobaha igihugu wabayemwo uri umunyamahanga+, igihugu cose ca Kanani, kibe rwanyu ibihe vyose kandi nzoba Imana yabo+.»
9 Imana yongera kubwira Aburahamu iti: «Uze wubahirize isezerano ryanje, mwe n’uruvyaro rwawe, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. 10 Iri ni ryo sezerano riri hagati yanje namwe, iryo wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese wo muri mwebwe ategerezwa kugenyerwa*+. 11 Mutegerezwa kugenyerwa*, kandi ico kizoba ikimenyetso c’isezerano riri hagati yanje namwe+. 12 Uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana, umuhungu wese wo muri mwebwe amaze imisi umunani ategerezwa kugenyerwa+, yaba uwavukiye mu rugo rwawe canke uwo waguze ku munyamahanga atari mu ruvyaro rwawe. 13 Umugabo wese yavukiye mu rugo rwawe n’umugabo wese waguze ategerezwa kugenyerwa+, kandi ico kimenyetso kiri ku mibiri yanyu kizoba ikimenyamenya c’isezerano ryamaho riri hagati yanje namwe. 14 Umuhungu wese atazogenyerwa ategerezwa kwicwa*. Azoba yarenze isezerano ryanje.»
15 Maze Imana ibwira Aburahamu iti: «Ku vyerekeye Sarayi*+ umugore wawe, ntuzosubire kumwita Sarayi kuko agiye kwitwa Sara*. 16 Nzomuhezagira kandi azokuvyarira umuhungu+. Emwe nzomuhezagira, kandi amahanga azomukomokako. Vyongeye, abami b’amahanga bazova muri we.» 17 Aburahamu aca arunama mu maso hashika hasi. Atangura gutwenga, yibwira mu mutima+ ati: «Mbega umutama w’imyaka 100 yoba akivyara, canke Sara umutamakazi w’imyaka 90 yoba acibaruka+?»
18 Aburahamu rero abwira Imana y’ukuri ati: «Ese wompezagirira Ishimayeli akaramba+!» 19 Imana imwishura iti: «Sara umugore wawe azokuvyarira umuhungu, kandi uze umwite Izahaki*+. Nzoshitsa isezerano ryanje biciye kuri we, ribe isezerano ry’ibihe bidahera kuri we no ku ruvyaro rwiwe+. 20 Ariko no ku vyerekeye Ishimayeli nakwumvise. Nzomuhezagira, ntume arondoka, kandi uruvyaro rwiwe nzorugwiza cane, cane rwose. Azovyara abakuru 12 kandi nzomugira ihanga rikomeye+. 21 Mugabo isezerano ryanje nzorishitsa biciye kuri Izahaki+, uwo Sara azokuvyarira mu mwaka uza muri iki gihe nyene+.»
22 Imana ihejeje kuvugana na Aburahamu ica iraduga irigira. 23 Aburahamu aca afata Ishimayeli umuhungu wiwe, abagabo bose bavukiye mu rugo rwiwe n’abo yari yaraguze bose, emwe abagabo bose bo mu rugo rwiwe, abagenyera kuri uwo musi nyene nk’uko Imana yari yamubwiye+. 24 Aburahamu yari afise imyaka 99 igihe yagenyerwa+. 25 Ishimayeli umuhungu wiwe na we yagenyerewe afise imyaka 13+. 26 Uwo musi nyene Aburahamu n’umuhungu wiwe Ishimayeli baragenyerwa. 27 Abagabo bose bo mu rugo rwiwe, abahavukiye n’abo yaguze ku banyamahanga bose, na bo nyene baragenyerwa.
18 Inyuma y’ivyo, Yehova*+ abonekera Aburahamu hafi y’ibiti binini vy’i Mamure+. Yari yicaye imbere y’umuryango w’ihema ryiwe ku murango, igihe haba hashushe cane. 2 Aburahamu yunamuye amaso, abona abagabo batatu bahagaze nka hariya+. Aca yiruka kubasanganira, arunama mu maso hashika hasi. 3 Maze avuga ati: «Yehova, ko wangiriye ubuntu, ndagusavye nturengane umuhana w’umusavyi wawe. 4 Reka bazane amazi makeyi baboze ibirenge+ hanyuma muruhuke gatoyi munsi y’igiti. 5 Ko mwaciye hano ku musavyi wanyu, reka ndabazanire agakate kugira mugarure utuguvu, muheze mwibandanirize urugendo.» Bamwishura bati: «Ni vyiza. Nugire nk’uko ubivuze.»
6 Aburahamu aca anyarukira mw’ihema aho Sara ari, amubwira ati: «Tora ningoga ingero zitatu* z’ifu inoze, ugire igikandu maze ukore imikate.» 7 Aburahamu aca yiruka mu ruhongore, atora ishuri nziza ikiri nto, ayihereza umusuku wiwe kugira ayitegure ningoga. 8 Hanyuma afata amavuta y’inka, amata hamwe na za nyama yategura, arabahereza. Na we aca aguma hafi yabo* munsi y’igiti, igihe bariko barafungura+.
9 Nuko bamubaza bati: «Sara umugore wawe ari hehe+?» Na we abishura ati: «Aha mw’ihema.» 10 Umwe muri bo aca yongerako ati: «Nzogaruka ng’aha mu mwaka uza nk’iki gihe, kandi umugore wawe Sara azoba afise umwana w’umuhungu+.» Sara yariko arabumviriza ari iruhande y’umuryango w’ihema wari inyuma y’uwo mugabo. 11 Aburahamu na Sara bari bashaje cane+. Sara yari yararenganye igihe co kuvyara*+. 12 Sara aca atwengera mu mutima, yibwira ati: «Mbega jewe umukecuru yaheze, noba nkiryoherwa? Kandi n’umukama wanje arashaje+!» 13 Yehova aca abwira Aburahamu ati: «Kubera iki Sara atwenze akavuga ngo: “Mbega noba nkivyara n’ingene nshaje?” 14 Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Nzogaruka ng’aha mu mwaka uza nk’iki gihe, kandi Sara azoba afise umwana w’umuhungu.» 15 Mugabo Sara arahakana ati: «Eka data sinatwenze!» Ivyo yabivuze kubera yari yagize ubwoba. Na we amwishura ati: «Oya watwenze.»
16 Abo bagabo bahagurutse ngo bagende, Aburahamu aca arabaherekeza, abashikana ahantu bashobora kubona i Sodomu+. 17 Maze Yehova avuga ati: «Mbega ngume mpishije Aburahamu ivyo ngira nkore+? 18 Erega Aburahamu azovamwo ihanga rinini kandi rikomeye, kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye kuri we+. 19 Kuko namuhisemwo* kugira ategeke abahungu biwe n’abazomukomokako kugumya inzira za Yehova mu gukora ibibereye n’ibigororotse+, maze jewe Yehova nzoheza nshitse ivyo namusezeraniye.»
20 Hanyuma Yehova avuga ati: «Induru y’abidogera Sodomu na Gomora ni nyinshi+, kandi igicumuro c’abantu baho kiraremereye cane+. 21 Ngira manuke kuraba ko ivyo bakora bihuye n’induru yanshikiriye. Nimba atari ko biri na ho ndabimenye+.»
22 Abo bagabo baca bava ng’aho baja i Sodomu, ariko Yehova+ agumana na Aburahamu. 23 Maze Aburahamu aramwegera, amubwira ati: «Aho nyene ugira ujaniranye umugororotsi n’umubisha+? 24 Dufate ko muri ico gisagara hariyo abagororotsi 50. None wokwica ababa muri co bose, ntukibabarire kandi hariyo abagororotsi 50? 25 Ntiwokwubahuka gukora ikintu nk’ico, ukajaniranya umugororotsi n’umubisha, ku buryo bose bacirwa urubanza rumwe+. Ntiwokwigera ukora ikintu nk’ico+! Mbega Umucamanza w’isi yose ntazokora ibigororotse+?» 26 Yehova amwishura ati: «Ninasanga i Sodomu abagororotsi 50, nzoca mbabarira ico gisagara cose kubera bo.» 27 Ariko Aburahamu arasubira ati: «Urantunga Yehova. Raba ingene nubahuka kuvugana nawe kandi ndi umukungugu n’umunyota. 28 Dufate ko muri abo bagororotsi 50 habuzemwo batanu. None uzohonya ico gisagara cose kubera abo batanu babuze?» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya ninasangayo 45+.»
29 Mugabo Aburahamu yongera kumubwira ati: «Dufate ko hariyo 40.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo 40.» 30 Aburahamu arongera ati: «Yehova, ndagusavye ntunshavurire+. Nkundira nsubire mvuge: dufate ko hariyo 30 gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya ninasangayo 30.» 31 Ariko Aburahamu arabandanya ati: «Urantunga Yehova. Raba ingene nubahuka kuvugana nawe: dufate ko hariyo 20 gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo 20.» 32 Ubwa nyuma, Aburahamu avuga ati: «Yehova, ndagusavye ntunshavurire. Urantunga mvuge irya nyuma: dufate ko hariyo cumi gusa.» Na we amwishura ati: «Sinzogihonya kubera abo cumi.» 33 Yehova ahejeje kuvugana na Aburahamu aca aragenda+, Aburahamu na we asubira muhira iwe.
19 Ba bamarayika babiri bashika i Sodomu ku mugoroba, kandi Loti yari yicaye kw’irembo rya Sodomu. Ababonye aca arahaguruka aja kubasanganira, arunama mu maso hashika hasi+. 2 Ababwira ati: «Batungwa, ndabasavye muce ku muhana w’umusavyi wanyu, muharare bongere baboze ibirenge. Muzoheza muvyuke kare mubandanye urugendo rwanyu.» Na bo bamwishura bati: «Oya, turara mu kibanza rusangi*.» 3 Mugabo arabinginga ku buryo bajana muhira iwe. Aca abategurira imfungurwa zidasanzwe, abokereza n’imikate itarimwo umwambiro, baraheza barafungura.
4 Imbere y’uko baja kuryama, abagabo bose bo mu gisagara ca Sodomu, uhereye ku gahungu gatoyi gushika ku mutama, baza ari isinzi maze bakikuza iyo nzu. 5 Baguma basemerera babwira Loti bati: «Ba bagabo baza ng’aha ku mugoroba bari hehe? Basohore turyamane na bo+.»
6 Loti aca arasohoka aja iyo bari, mugabo asiga yugaye umuryango. 7 Ababwira ati: «Ndabinginze benewacu, ntimukore ico kibi. 8 Umve, ndafise abakobwa babiri batarigera baryamana n’umugabo. Reka ndababazanire mubakorere ivyo mushaka. Ariko ntihagire ico mugira aba bagabo, kuko ari abashitsi banje*+.» 9 Bamwishura bati: «Tuve imbere!» Bongerako bati: «Uyu munyamahanga yaje kuba ino, none ariko yigira umucamanza wacu! Ubu rero tugira tugukorere ikibi kuruta ico twari kubakorera.» Baca baramusunura* maze begera umuryango kugira bawubomore. 10 Ba bagabo babiri baca barakwega Loti bamwinjiza iyo bari mu nzu maze bugara umuryango. 11 Baca bahuma amaso* abo bagabo bari imbere y’umuryango, kuva ku muto gushika ku mukuru, baguma barondera umuryango ariko barawubura.
12 Ba bagabo babiri babwira Loti bati: «Hari iyindi ncuti ufise ng’aha? Fata abakwe bawe, abahungu bawe, abakobwa bawe n’abandi bose ufise muri iki gisagara, ubakure aha hantu. 13 Tugira tuhahonye, kuko induru y’abidogera ababa muri iki gisagara yabaye nyinshi imbere ya Yehova+. Ni co gituma Yehova yaturungitse kugihonya.» 14 Loti aca arasohoka aja kubibwira abakwe biwe, ni ukuvuga abahungu bari bimirije gutwara abakobwa biwe. Aguma ababwira ati: «Nyarutsa muve aha hantu, kuko Yehova agira ahonye iki gisagara!» Ariko kuri bo wamengo ariko arifyinira+.
15 Butaraca neza, ba bamarayika batangura kwihutisha Loti bati: «Nyarutsa utore umugore wawe n’abakobwa bawe babiri muri kumwe maze muhunge kugira ntimupfe kubera ikosa ry’iki gisagara+.» 16 Akiriko arateba, ba bagabo baca bafata ukuboko kwiwe n’ukw’umugore wiwe n’amaboko y’abakobwa biwe babiri, bamusohora hanze y’igisagara+, kuko Yehova yari yamugiriye impuhwe+. 17 Bakimara gusohoka igisagara, umwe muri bo amubwira ati: «Hunga unyage amagara! Nturabe inyuma+ kandi ntuhagarare ahantu na hamwe muri iyi ntara+. Hungira hariya mu misozi kugira ntupfe!»
18 Mugabo Loti ababwira ati: «Oya Yehova sinoja hariya! 19 Wakoze kungirira imbabazi n’ubuntu bwinshi*, urandokora+ jewe umusavyi wawe, ariko sinoshobora guhungira hariya mu misozi, kuko ntinya ko icago cohava kinshikira ngapfa+. 20 Hariho agasagara gatoyi kari hafi nohungiramwo. Ndagusavye unyemerere mpungireyo, mbone kubaho. Ni agasagara gatoyi.» 21 Na we amubwira ati: «Sawa, ndabikwemereye+. Sinzohonya ico gisagara uvuze+. 22 Hungirayo ningoga, kuko ata co nshobora gukora utarashikayo+.» Ni co gituma ico gisagara ciswe Zowari*+.
23 Nuko Loti ashika i Zowari izuba rimaze guseruka. 24 Yehova aca atiburira kuri Sodomu na Gomora amazuku* n’umuriro, bikoroka bivuye kuri Yehova mw’ijuru+. 25 Ukwo ni ko yatikije ivyo bisagara, emwe iyo ntara yose n’ababa muri ivyo bisagara bose n’ivyatsi vyose vyari muri ako karere+. 26 Ariko muka Loti yariko agendera inyuma y’umugabo wiwe. Nuko atangura kuraba inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu+.
27 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, aja ha hantu yari ahagaze ariko avugana na Yehova+. 28 Aravye i Sodomu n’i Gomora no muri iyo ntara yose, abona ibintu biteye ubwoba: umwotsi mwinshi cane umeze nk’umwotsi uva mw’ifuru* wariko uraduga uva muri iyo ntara+! 29 Igihe Imana yatikiza ibisagara vyo muri iyo ntara, yarazirikanye Aburahamu mu gukura Loti muri ivyo bisagara, kuko ari ho yari asanzwe aba+.
30 Mu nyuma, Loti ava i Zowari ari kumwe n’abakobwa biwe babiri, aja kuba mu misozi+ kuko yatinya kuba i Zowari+. Aba mw’isenga ry’ibuye ari kumwe n’abakobwa biwe babiri. 31 Maze umukobwa w’imfura abwira mutoyi wiwe ati: «Data arashaje, kandi nta mugabo ari muri aka karere ngo adutware nk’uko bigenda kw’isi yose. 32 Ingo tumuhe umuvinyu hanyuma turyamane na we kugira turonke uruvyaro.»
33 Baguma baha se umuvinyu muri iryo joro. Maze umukobwa w’imfura arinjira aryamana na we, ariko se ntiyamenya igihe yaryamiye n’igihe yavyukiye. 34 Bukeye, umukobwa w’imfura abwira mutoyi wiwe ati: «Naraye ndyamanye na dawe. Tuze kumwongera umuvinyu no muri iri ijoro, hanyuma ugende uryamane na we kugira turonke uruvyaro.» 35 Baguma baha se umuvinyu no muri iryo joro. Maze umukobwa mutoyi arinjira aryamana na we, ariko se ntiyamenya igihe yaryamiye n’igihe yavyukiye. 36 Nuko abo bakobwa bose ba Loti batwara inda ya se. 37 Umukobwa w’imfura avyara umuhungu maze amwita Mowabu+. Ni we sekuru w’Abanyamowabu gushika n’uyu musi+. 38 Umukobwa mutoyi na we nyene avyara umuhungu maze amwita Beni-Ami. Ni we sekuru w’Abamoni+ gushika n’uyu musi.
20 Nuko Aburahamu yimukira+ mu gihugu ca Negebu, aba hagati ya Kadeshi+ na Shura+. Igihe yaba i Gerari+, 2 yongera kuvuga ko Sara umugore wiwe yari mushikiwe+. Maze Abimeleki umwami w’i Gerari atumako Sara, aramutwara+. 3 Inyuma y’ivyo, Imana ibonekera Abimeleki mu ndoto mw’ijoro, imubwira iti: «Urapfa kubera uwo mugore watwaye+, kuko yubakanye n’uwundi mugabo+.» 4 Ariko Abimeleki ntiyari bwaryamane na we. Aca avuga ati: «Yehova, mbega ugira wice ihanga ata co rizira* vy’ukuri? 5 None ntiyambwiye ko ari mushikiwe, Sara na we akambwira ko ari musazawe? Nabikoze ata co niyagiriza, kandi sinari nzi ko ari bibi.» 6 Imana y’ukuri imubwira iti: «Ndazi ko wabikoze ata co wiyagiriza. Ni co gituma nakubujije kuncumurako, sindakwemerere kumukorako. 7 Ubu rero numusubize umugabo wiwe kuko ari umuhanuzi+. Na we azotakambira Imana ku bwawe+ kugira ubandanye kubaho. Ariko ukabona utamusubije, umenye ko uzoca upfa, wewe n’abawe bose.»
8 Abimeleki aca avyuka kare mu gitondo, ahamagara abasuku biwe bose, abiganira ivyo bintu vyose. Baca bagira ubwoba bwinshi. 9 Abimeleki aca ahamagara Aburahamu, amubwira ati: «Ivyo wadukoreye ni ibiki? Ikosa nagukoreye ni irihe ku buryo jewe n’ubwami bwanje udukwegera igicumuro gikomeye gutyo? Ivyo wangiriye si vyiza.» 10 Yongerako ati: «Wari ufise intumbero iyihe+?» 11 Aburahamu amwishura ati: «Ni uko nari nibwiye nti: “Abantu bo ng’aha ntibatinya Imana, bazohava banyica kubera umugore wanje+.” 12 Kandi ni mushikanje vy’ukuri, kuko dusangiye dawe mugabo ntidusangiye mawe. Twahavuye twubakana+. 13 Igihe rero Imana yandungika kure y’inzu ya dawe+, namubwiye nti: “Iki ni co kizonyereka ko unkunda*: aho tuzoja hose uzovuge ko ndi musazawe+.”»
14 Abimeleki aca afata intama, inka, abasuku n’abasukukazi, abiha Aburahamu yongera amusubiza umugore wiwe Sara. 15 Maze amubwira ati: «Igihugu canje cose ng’ico, nube aho ushaka.» 16 Abwira Sara na we ati: «Ehe mpaye musazawe+ ifeza* 1.000. Ni ikimenyetso cereka abo muri kumwe n’abandi bose yuko wambitswe izera. Urakuweko iceyi.» 17 Aburahamu aca atakambira Imana y’ukuri, iraheza ikiza Abimeleki n’umugore wiwe n’abasukukazi biwe, basubira kuvyara. 18 Kuko Yehova yari yatumye abagore bose bo mu rugo rwa Abimeleki badasubira gusama inda* kubera Sara umugore wa Aburahamu+.
21 Yehova yitaho Sara nk’uko yari yaravuze, maze Yehova ashitsa ivyo yari yaramusezeraniye+. 2 Sara aribungenga+, avyarira umuhungu Aburahamu mu busaza bwiwe, kuri ca gihe nyene Imana yari yaramubwiye+. 3 Aburahamu aca yita Izahaki+ uwo muhungu Sara yari amuvyariye. 4 Hanyuma Aburahamu agenyera Izahaki umuhungu wiwe amaze imisi umunani, nk’uko Imana yari yaramutegetse+. 5 Aburahamu yari afise imyaka 100 igihe umuhungu wiwe Izahaki yavuka. 6 Maze Sara avuga ati: «Imana irantwengeje, kandi n’abazovyumva bose bazotwenga*.» 7 Yongerako ati: «Ni nde yari kubwira Aburahamu ko Sara yokwonkeje abana? Ariko raba ndamuvyariye umuhungu mu busaza bwiwe.»
8 Nuko uwo mwana arakura hanyuma baramucutsa. Aburahamu araheza ategura umusi mukuru ukomeye ku musi Izahaki acuka. 9 Ariko Sara yaguma abona umuhungu wa Hagari+ Umunyamisirikazi, umwe yavyarana na Aburahamu, acokora Izahaki+. 10 Aca abwira Aburahamu ati: «Irukana uwo musukukazi n’umuhungu wiwe, kuko Izahaki umuhungu wanje atazosangira intoranwa yiwe n’umuhungu w’uyo musukukazi+.» 11 Mugabo Aburahamu ababazwa cane n’ivyo Sara avuze ku muhungu wiwe+. 12 Maze Imana ibwira Aburahamu iti: «Ntushavuzwe n’ivyo Sara akubwira ku vyerekeye uwo muhungu n’uwo musukukazi wawe. Numwumvirize* kuko uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+. 13 Ariko umuhungu w’uwo musukukazi+ na we nyene nzomugira ihanga rikomeye+, kuko ari uruvyaro rwawe.»
14 Aburahamu araheza avyuka kare mu gitondo, afata umukate n’umukuza w’urushato urimwo amazi, abishira ku bitugu vya Hagari, aca amurungikana n’umuhungu wiwe+. Nuko aragenda, aguma azunguruka mu bugaragwa bw’i Beri-Sheba+. 15 Amazi amaze guhera muri wa mukuza, aca asunikira uwo muhungu munsi y’igisaka. 16 Hanyuma arabandanya, aja kwicara wenyene kure yiwe*, kuko yibwira ati: «Sinshaka kubona umwana wanje ariko arapfa.» Aca yicara hasi, atangura kurira cane.
17 Imana rero yumva wa muhungu ariko ararira+. Umumarayika w’Imana aca ahamagara Hagari ari mw’ijuru, amubwira ati+: «Hagari, uriko urizwa n’iki? Ntutinye, kuko Imana yumvise amarira y’umuhungu wawe. 18 Haguruka, ugende uvyure umuhungu wawe umwandaze, kuko nzomugira ihanga rikomeye+.» 19 Maze Imana yugurura amaso yiwe, abona iriba ry’amazi. Aca aragenda yuzuza wa mukuza wiwe w’urushato, ahereza umuhungu wiwe aranywa. 20 Nuko uwo muhungu+ arakura kandi Imana igumana na we. Araheza yibera mu gahinga, acika umuhigi akoresha umuheto. 21 Aba mu bugaragwa bw’i Parani+, maze nyina wiwe amuzanira umugore amukuye mu Misiri.
22 Ico gihe, Abimeleki ari kumwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe, abwira Aburahamu ati: «Imana iri kumwe nawe mu vyo ukora vyose+. 23 Ubu rero ndahira imbere y’Imana ko utazoduhemukira twe n’uruvyaro rwanje n’abazorukomokako. Ndahira ko uzongirira ubuntu* nk’ubwo nakugiriye+, ukabugirira n’ababa muri iki gihugu ubayemwo.» 24 Aburahamu amwishura ati: «Ndakurahiye.»
25 Ariko Aburahamu aca abwira Abimeleki ibijanye n’iriba ry’amazi abasuku biwe bari baramutwaye ku nguvu+. 26 Abimeleki amwishura ati: «Sinzi uwakoze ico kintu, kandi nawe ntiwigeze ubimbwira. Ivyo ndavyumvise uyu musi.» 27 Aburahamu aca afata intama n’inka abiha Abimeleki, maze bagiranira isezerano. 28 Aburahamu araheza akura amashashi y’intama indwi mu busho bwiwe ayashira ku ruhande. 29 Abimeleki aca amubaza ati: «Kubera iki ushize ku ruhande aya mashashi indwi?» 30 Na we amwishura ati: «Aya mashashi y’intama indwi ni ayo ndaguhaye kugira abe icabona c’uko ari jewe nimvye iri riba.» 31 Ni co catumye yita aho hantu Beri-Sheba*+, kuko ari ho bagiriye iyo ndahiro. 32 Nuko bagiranira isezerano+ i Beri-Sheba. Hanyuma Abimeleki arahaguruka ari kumwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya+. 33 Inyuma y’ivyo, Aburahamu atera igiti c’umwesheri i Beri-Sheba maze ahambariza izina rya Yehova+, ya Mana yamaho+. 34 Aburahamu amara igihe kirekire aba mu gihugu c’Abafilisitiya+.
22 Inyuma y’ivyo, Imana y’ukuri igeza+ Aburahamu, imubwira iti: «Aburahamu!» Na we ati: «Sabwe!» 2 Irabandanya iti: «Tora umuhungu wawe Izahaki+, umuhungu wawe w’ikinege ukunda cane+, umujane mu gihugu ca Moriya+ maze umutangeko ishikanwa riturirwa ku musozi nzokwereka.»
3 Aburahamu aca avyuka kare mu gitondo, ategura indogobwa* maze ahitana babiri mu basuku biwe na Izahaki umuhungu wiwe. Araheza asatura inkwi akoresha kw’ishikanwa riturirwa, aca afata urugendo aja hamwe Imana y’ukuri yari yamubwiye. 4 Ku musi ugira gatatu, Aburahamu yunamura amaso maze abona ca kibanza kiri nka hariya. 5 Aca abwira abasuku biwe ati: «Mwebwe nimugume aha hamwe n’indogobwa. Jewe n’umuhungu wanje tugiye hariya gusenga, duca tugaruka.»
6 Aburahamu afata za nkwi akoresha kw’ishikanwa riturirwa, azikorera umuhungu wiwe Izahaki. Na we aca atora umuriro n’imbugita*, babandanya urugendo. 7 Izahaki abaza se wiwe Aburahamu ati: «Da!» Na we ati: «Sabwe mwananje!» Arabandanya ati: «Ko dufise umuriro n’inkwi, none intama y’ishikanwa riturirwa iri hehe?» 8 Aburahamu amwishura ati: «Imana iraza kuduha intama y’ishikanwa riturirwa+, mwananje.» Nuko bose babandanya urugendo.
9 Barateba bashika ha hantu Imana y’ukuri yari yamubwiye. Aburahamu aca yubaka igicaniro, agishirako inkwi. Araheza aboha umuhungu wiwe Izahaki amaguru n’amaboko, amushira kuri ico gicaniro hejuru y’inkwi+. 10 Aca atora ya mbugita* kugira akerere umuhungu wiwe+. 11 Ariko umumarayika wa Yehova amuhamagara ari mw’ijuru ati: «Aburahamu, Aburahamu!» Na we ati: «Sabwe!» 12 Amubwira ati: «Ntiwice uwo muhungu, ntihagire ico umugira. Ubu ndamenye ko utinya Imana vy’ukuri kuko utanyimye umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege+.» 13 Aburahamu aca arunamuka maze abona hirya yiwe impfizi y’intama yafashwe amahembe mu gisaka. Aca aragenda arayifata, ayitangako ishikanwa mu kibanza c’umuhungu wiwe. 14 Aburahamu aca yita aho hantu Yehova-Yire*. Ni co gituma n’ubu abantu bavuga ngo: «Yehova aratanga ibikenewe ku musozi wiwe+.»
15 Umumarayika wa Yehova ari mw’ijuru ahamagara Aburahamu ubwa kabiri, 16 amubwira ati: «“Ndirahiye jewe ubwanje”, ni ko Yehova avuze+, “ko wakoze ivyo ntunyime umuhungu wawe, umuhungu wawe w’ikinege+, 17 ni ukuri nzoguhezagira kandi nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere, nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+. Uruvyaro rwawe ruzokwigarurira ibisagara* vy’abansi barwo+. 18 Kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye ku ruvyaro* rwawe+, kuko wanyumviye+.”»
19 Inyuma y’ivyo, Aburahamu agaruka aho ba basuku biwe bari, baca bafata urugendo basubira i Beri-Sheba+. Aburahamu abandanya kuba i Beri-Sheba.
20 Hanyuma bamenyesha Aburahamu bati: «Erega Milika yaravyariye abana Nahori mwenewanyu+: 21 imfura yiwe ni Uzi, hagakurikira Buzi, hagasubira Kemuweli se wa Aramu, 22 hanyuma Kesedi, Hazo, Piludashi, Yidilafu na Betuweli+.» 23 Betuweli ni we yavyaye Rebeka+. Abo bahungu umunani ni bo Milika yavyariye Nahori mwenewabo na Aburahamu. 24 Umugore wiwe agira kabiri* yitwa Reyuma. Na we yamuvyariye Teba, Gahamu, Tahashi na Mayaka.
23 Sara yabayeho imyaka 127. Iyo ni yo myaka ubuzima bwiwe bwamaze+. 2 Nuko Sara apfira i Kiriyati-Aruba+, ni ukuvuga i Heburoni+ mu gihugu ca Kanani+, maze Aburahamu atangura kumugandarira no kumuririra. 3 Hanyuma Aburahamu ava iruhande y’ikiziga c’umugore wiwe, aja kubwira abahungu ba Heti+ ati: 4 «Ndi umunyamahanga n’umwimukira muri mwebwe+. Nimumpe itongo aha iwanyu kugira mpambe umugore wanje.» 5 Abahungu ba Heti bamwishura bati: 6 «Umviriza databuja! Imana yakugize umukuru* muri twebwe+. Urashobora guhamba umugore wawe aho ushatse hose mu matongo yacu. Nta n’umwe yokwima itongo uhambamwo umugore wawe.»
7 Aburahamu aca arahaguruka, yunamira abantu bo muri ico gihugu ari bo bahungu ba Heti+. 8 Ababwira ati: «Nimba mwemeye ko mpamba umugore wanje, nimunyingingire Efuroni umuhungu wa Zohari, 9 ndamugurire isenga ry’ibuye riri i Makipela ku mpera y’itongo ryiwe. Narimpe ndarimugurire mubibona, ndamuhe igiciro c’ifeza bikwiranye+ kugira ribe itongo ryo guhambamwo nigabira+.»
10 Efuroni yari yicaranye n’abahungu ba Heti. Maze Efuroni Umuheti yishura Aburahamu, abahungu ba Heti n’abinjira mu gisagara ciwe bose+ bumva ati: 11 «Oya, databuja! Umve, ndakugabiye iryo tongo n’isenga ry’ibuye riri muri ryo. Ndarikugabiye abantu banje babona. Nuhambe umugore wawe.» 12 Aburahamu aca arunama imbere y’abantu bo muri ico gihugu, 13 abwira Efuroni abo bantu bumva ati: «Ndagusavye unyumvirize. Ndaguha ifeza zikwiranye n’iryo tongo. Nuzinyakirire, kugira mbone guhamba umugore wanje.»
14 Efuroni amwishura ati: 15 «Nyumviriza databuja! Iryo tongo riciye shekeli* z’ifeza 400, none izo wumva ari iki hagati yanje nawe? Nuhambe umugore wawe.» 16 Aburahamu aca aremera, apimira Efuroni ifeza yari avuze abahungu ba Heti bumva. Amupimira shekeli* z’ifeza 400, ku gipimo cemewe n’abadandaza+. 17 Nuko itongo rya Efuroni riri i Makipela aharabana n’i Mamure, iryo tongo n’isenga ry’ibuye ryari muri ryo hamwe n’ibiti vyose vyari birikikuje, biremezwa 18 ko Aburahamu abiguze abahungu ba Heti babona, imbere y’abinjira mw’irembo ry’igisagara bose. 19 Inyuma y’ivyo, Aburahamu ahamba Sara umugore wiwe mw’isenga ry’ibuye riri mw’itongo ry’i Makipela, aharabana n’i Mamure ari ho Heburoni, mu gihugu ca Kanani. 20 Nuko abahungu ba Heti baremeza ko iryo tongo n’isenga ry’ibuye riri muri ryo vyegukiye Aburahamu, kugira ahahambe umugore wiwe+.
24 Aburahamu yari ashaje cane, kandi Yehova yari yaramuhezagiye muri vyose+. 2 Nuko Aburahamu ahamagara umusuku wiwe yari akuze kuruta abandi, uwari ajejwe ivyo mu rugo rwiwe vyose+, amubwira ati: «Ndagusavye ushire ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje. 3 Ngira ndakurahize Yehova Imana y’ijuru n’isi, ko utazokura umugore w’umuhungu wanje muri aba bakobwa b’Abanyakanani mbayemwo+. 4 Ahubwo uzoje mu gihugu canje no mu ncuti zanje+, abe ari yo ukura umugore w’umuhungu wanje Izahaki.»
5 Mugabo uwo musuku amwishura ati: «Bizogenda gute none uwo mukobwa niyanka kuzanana nanje muri iki gihugu? Nzoca nsubiza umuhungu wawe mu gihugu waje uvamwo+?» 6 Aburahamu amwishura ati: «Ntuze uhirahire ngo ujaneyo umuhungu wanje+. 7 Yehova Imana yo mw’ijuru, we yankuye mu muryango wanje no mu gihugu c’incuti zanje+, yaravuganye nanje yongera arandahira ati+: “Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe+.” Ubwiwe azorungika umumarayika wiwe imbere yawe+, kandi nta kabuza uzokura umugore w’umuhungu wanje hariya+. 8 Ariko uwo mukobwa niyanka kuzanana nawe, ntuzoba ugifashwe n’iyo ndahiro. Mugabo ntuzojane umuhungu wanje hariya.» 9 Uwo musuku aca ashira ukuboko munsi y’itako rya shebuja Aburahamu, aramurahira+.
10 Uwo musuku araheza atora ingamiya cumi za shebuja, atora n’ubwoko bwose bw’ibintu vyizavyiza shebuja amuhaye, hanyuma aja i Mezopotamiya mu gisagara ca Nahori. 11 Ashitse kw’iriba ry’amazi inyuma y’igisagara, aca arahagarara kugira ingamiya ziruhuke*. Hari nko ku mugoroba, igihe abakobwa baja kuvoma. 12 Maze arasenga ati: «Yehova Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze utume bingendera neza uyu musi, kandi ugirire ubuntu* databuja Aburahamu. 13 Ehe mpagaze kw’iriba ry’amazi, kandi abakobwa bo mu gisagara bagira baze kuvoma. 14 Umukobwa nza kubwira nti: “Ndagusavye wururutse umubindi wawe umpe amazi yo kunywa”, na we akanyishura ati: “Akira unywe kandi n’ingamiya zawe ndaziha amazi”, aze kuba ari we utoreye umusavyi wawe Izahaki. Uzoba unyeretse ko wagiriye ubuntu* databuja.»
15 Ataraheza no kuvuga, aza abona Rebeka araje afise umubindi ku rutugu. Rebeka yari umukobwa wa Betuweli+ umuhungu wa Milika+, Milika umugore wa Nahori+ mwenewabo na Aburahamu. 16 Yari umukobwa mwiza cane w’isugi, atararyamana n’umugabo. Amanuka kw’iriba, yuzuza amazi umubindi wiwe, araheza aragaruka. 17 Wa musuku aca yiruka iyo ari, amubwira ati: «Ndagusavye umpe utuzi two kunywa kuri uwo mubindi wawe.» 18 Na we amwishura ati: «Akira unywe databuja!» Aca atura ningoga umubindi wiwe awufata mu minwe, aramuha aranywa. 19 Ahejeje kumuha amazi, aca amubwira ati: «N’ingamiya zawe ndazivomera gushika zihere inyota.» 20 Aca acuranurira mu rugomero* amazi yari mu mubindi wiwe, yiruka incuro nyinshi kw’iriba kuvoma amazi. Aguma avomera ingamiya ziwe zose. 21 Aho hose uwo mugabo yaguma amwitegereza yumiwe, adakurako umunwa, kugira amenye ko Yehova yari yatumye urugendo rwiwe ruroranirwa.
22 Ingamiya zihejeje kunywa amazi, uwo mugabo aca amuha ihereni* ry’inzahabu ryo ku zuru rifise uburemere bungana n’igice ca shekeli* hamwe n’ibikomo bibiri vy’inzahabu bifise uburemere bungana na shekeli cumi. 23 Aca amubaza ati: «Ndagusavye umbwire, uri umukobwa wa nde? Kwa so wawe hoba hariho ahantu tworara?» 24 Na we amwishura ati: «Ndi umukobwa wa Betuweli+, Betuweli umuhungu Milika yavyaranye na Nahori+.» 25 Yongerako ati: «Iwacu hariho ubwatsi* n’ivyo kurya vyinshi vy’ibitungwa. Turafise n’aho mworara.» 26 Uwo mugabo aca arunama imbere ya Yehova, mu maso hashika hasi, 27 avuga ati: «Hashemezwe Yehova Imana ya databuja Aburahamu, kuko yagumye agirira ubuntu* databuja kandi ntiyigeze amuhemukira. Yehova yanyoboye ku nzu ya benewabo na databuja.»
28 Wa mukobwa aca yiruka kwa nyina wiwe kubamenyesha iyo nkuru. 29 Rebeka yari afise musazawe yitwa Labani+. Nuko Labani ariruka, aja kuraba uwo mugabo aho yari kw’iriba inyuma y’igisagara. 30 Akibona ihereni mushikiwe Rebeka yambaye ku zuru n’ibikomo yambaye ku maboko, akumva n’ivyo uwo mugabo yamubwiye, aca aja kuraba uwo mugabo aho yari agihagaze kw’iriba hamwe n’ingamiya ziwe. 31 Amubwira ati: «Karibu, wewe wahezagiwe na Yehova! Kuki woguma uhagaze hanze kandi nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?» 32 Nuko uwo mugabo yinjira mu nzu. Hanyuma atangura* kwambura imigozi ingamiya, aziha ivyatsi n’ivyo kurya vy’ibitungwa, aca azana n’amazi yo kwoza ibirenge uwo mugabo n’abo bari kumwe. 33 Baraheza bamuzanira ibifungurwa, mugabo avuga ati: «Sindya ntarababwira ikingenza.» Labani aca amubwira ati: «Kivuge.»
34 Na we avuga ati: «Ndi umusuku wa Aburahamu+. 35 Yehova yarahezagiye cane databuja. Yaramuhaye itunga ryinshi rigizwe n’intama, inka, ifeza, inzahabu, abasuku, abasukukazi, ingamiya hamwe n’indogobwa+. 36 Vyongeye, Sara umugore wa databuja yaramuvyariye umuhungu naho yari ashaje+, kandi azomuha ivyo atunze vyose+. 37 Databuja rero yarandahije ati: “Umuhungu wanje ntuze umuronderere umugore muri aba bakobwa b’Abanyakanani, bene iki gihugu mbayemwo+. 38 Ahubwo uzoje mu rugo kwa data no mu muryango wanje+, abe ari ho ukura umugore w’umuhungu wanje+.” 39 Mugabo naciye mbwira databuja nti: “Bizogenda gute none uwo mukobwa niyanka kuzanana nanje+?” 40 Yaciye anyishura ati: “Yehova uwo nagendeye imbere+, azorungika umumarayika wiwe+ ajane nawe kandi azotuma urugendo rwawe ruroranirwa. Uze usabire umuhungu wanje umugore wo mu muryango wanje, mu rugo kwa data+. 41 Niwaja mu muryango wanje bakamukwima, iyo ndahiro ntizogufata. Uzoba ukuweko iyo ndahiro yawe+.”
42 Igihe rero nashika kw’iriba uno musi, naciye nsenga nti: “Yehova Mana ya databuja Aburahamu, nimba ushaka ko urugendo rwanje ruroranirwa, 43 ndagusavye bize kugenda gutya: ehe mpagaze kw’iriba. Umukobwa+ aza kuvoma amazi maze nkamubwira nti: ‘Ndagusavye umpe utuzi two kunywa kuri uwo mubindi wawe’, 44 na we akanyishura ati: ‘Akira unywe kandi n’ingamiya zawe ndazivomera’, azobe ari we Yehova yatoreye umuhungu wa databuja+.”
45 Ntaraheza no gusengera mu mutima, nagiye mbona Rebeka aserutse afise umubindi ku rutugu. Yaciye amanuka kw’iriba, atangura kuvoma amazi. Hanyuma ndamubwira nti: “Ndagusavye umpe utuzi two kunywa+.” 46 Yaciye atura ningoga umubindi yari afise ku rutugu, ambwira ati: “Akira unywe+ kandi n’ingamiya zawe ndazivomera.” Nakiriye ndanywa yongera aravomera n’ingamiya zanje. 47 Inyuma y’aho naciye ndamubaza nti: “Uri umukobwa wa nde?” Na we ati: “Ndi umukobwa wa Betuweli, Betuweli umuhungu Milika yavyariye Nahori.” Naciye ndamwambika ihereni ku zuru n’ibikomo ku maboko+. 48 Ndaheza nunama imbere ya Yehova mu maso hashika hasi, nshemeza Yehova Imana ya databuja Aburahamu+, we yanyoboye mu nzira nziza kugira ntore umukobwa wa mwenewabo na databuja, ngo abe umugore w’umuhungu wiwe. 49 Ubu rero, nimba mwemeye kugirira ubuntu* databuja no kutamuhemukira, nimubimbwire. Mutavyemeye na ho, nimubimbwire kugira menye ico nkora*+.»
50 Labani na Betuweli bamwishura bati: «Ivyo bintu vyavuye kuri Yehova. Ntidushobora rero kukwemerera canke kuguhakanira. 51 Ehe ng’uyo Rebeka. Mutore ugende, abe umugore w’umuhungu wa shobuja nk’uko Yehova yabivuze.» 52 Wa musuku wa Aburahamu yumvise iryo jambo, aca arunama imbere ya Yehova mu maso hashika hasi. 53 Aca asokorora ibintu vy’ifeza n’ibintu vy’inzahabu hamwe n’impuzu maze abiha Rebeka, yongera aha ibintu vy’agaciro musazawe na nyina wiwe. 54 Inyuma y’ivyo, we n’abari kumwe na we bararya bongera baranywa, hanyuma barara ng’aho.
Avyutse mu gitondo, avuga ati: «Nimundungike kwa databuja.» 55 Musaza wa Rebeka na nyina wiwe bamwishura bati: «Rebeka nabanze agumane natwe n’imiburiburi imisi cumi, hanyuma abone kugenda.» 56 Mugabo ababwira ati: «Nimureke kuntevya, kuko Yehova yatumye urugendo rwanje ruroranirwa. Nimundungike nsubire kwa databuja.» 57 Bamwishura bati: «Reka duhamagare Rebeka twumve ico abivugako.» 58 Baca baramuhamagara, bamubaza bati: «Uremeye kujana n’uyu mugabo?» Na we ati: «Ndavyemeye.»
59 Nuko barungika mushiki wabo Rebeka+ n’umurezi* wiwe+ hamwe na wa musuku wa Aburahamu n’abantu biwe. 60 Maze bahezagira Rebeka, bamubwira bati: «Mushiki wacu, urakagwira ucike ibihumbi n’ibihumbi, kandi uruvyaro rwawe ruze rwigarurire ibisagara* vy’abansi barwo+.» 61 Rebeka n’abasukukazi biwe baca burira ingamiya, bakurikira uwo mugabo. Uwo musuku wa Aburahamu aca atora Rebeka maze aragenda.
62 Izahaki rero yaba mu gihugu ca Negebu+. Umusi umwe yari azananye inzira ija i Beri-Lahayi-Royi+, 63 aca akatira mu gahinga kugira azirikane+. Hari amaja ku mugoroba. Araramuye amaso, aza abona ingamiya ziriko ziraza. 64 Maze Rebeka yunamuye amaso akabona Izahaki, aca ava ku ngamiya asimbira hasi ningoga. 65 Nuko abaza wa musuku ati: «Urya mugabo ariko aza guhura natwe avuye mu gahinga ni nde?» Na we amwishura ati: «Ni databuja.» Rebeka aca afata igitambara aritwikira. 66 Uwo musuku araheza yiganira Izahaki ivyo yari yakoze vyose. 67 Inyuma y’ivyo, Izahaki yinjiza Rebeka mw’ihema rya nyina wiwe Sara+, aramutwara aba umugore wiwe. Izahaki aramukunda cane+, aronka uruhoza inyuma yo kubura nyina wiwe+.
25 Nuko Aburahamu azana uwundi mugore yitwa Ketura. 2 Araheza amuvyarira Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani+, Ishibaki na Shuwa+.
3 Yokishani yavyaye Sheba na Dedani.
Dedani na we yavyaye Ashurimu, Letushimu na Leyumimu*.
4 Midiyani yavyaye Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya.
Abo bose bakomotse kuri Ketura.
5 Mu nyuma, Aburahamu araga Izahaki ibintu vyose yari atunze+, 6 ariko abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe arabagabira gusa. Maze akiri muzima, abarungika amaja mu buseruko kure y’umuhungu wiwe Izahaki+, mu gihugu co mu buseruko. 7 Aburahamu yamaze imyaka 175. 8 Hanyuma aracikana, apfa yisaziye neza ari umutama ahimbawe, araheza ahamvya ab’iwabo*. 9 Abahungu biwe Izahaki na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’ibuye riri i Makipela, mw’itongo rya Efuroni umuhungu wa Zohari Umuheti, riri aharabana n’i Mamure+. 10 Iryo tongo Aburahamu yari yariguze n’abahungu ba Heti. Aho ni ho bahamvye Aburahamu hamwe n’umugore wiwe Sara+. 11 Aburahamu amaze gupfa, Imana ibandanya guhezagira umuhungu wiwe Izahaki+, kandi yaba hafi y’i Beri-Lahayi-Royi+.
12 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Ishimayeli+ umuhungu wa Aburahamu, uwo yavyaranye na Hagari+ Umunyamisiri, umusukukazi wa Sara.
13 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli hisunzwe ababakomotseko: imfura yiwe yari Nebayoti+, hagakurikira Kedari+, Adibeli, Mibusamu+, 14 Mishima, Duma, Masa, 15 Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema. 16 Abo ni bo bahungu ba Ishimayeli kandi ayo ni yo mazina yabo hisunzwe ibigwati vyabo n’ibibanza babamwo mu mahema*. Bari abakuru 12 hisunzwe imiryango yabo+. 17 Ishimayeli yamaze imyaka 137 hanyuma arapfa, ahamvya ab’iwabo*. 18 Akarere abamukomokako babamwo kava i Havila+ hafi ya Shura+, aharabana na Misiri, kagashika i Ashuri. Baba hafi ya benewabo bose*+.
19 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Izahaki umuhungu wa Aburahamu+.
Aburahamu yavyaye Izahaki. 20 Izahaki yari afise imyaka 40 igihe yarongora Rebeka umukobwa wa Betuweli+ Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu. 21 Izahaki yaguma atakambira Yehova ku vyerekeye umugore wiwe, kuko atavyara*. Nuko Yehova yumva ugutakamba kwiwe maze Rebeka aribungenga. 22 Abana bari mu nda yiwe batangura kunigana+, aca avuga ati: «Nimba ari uku bimeze, kuki nobandanya kubaho?» Aca asiguza Yehova. 23 Yehova amubwira ati: «Hari amahanga abiri ari mu nda yawe+, kandi amahanga abiri avuye muri wewe azotandukana+. Ihanga rimwe rizokomera kuruta irindi+, kandi mukuru azokorera mutoyi+.»
24 Hageze ko yibaruka, erega basanze afise inda y’amahasa. 25 Nuko uwa mbere aravuka, aza atukura hose kandi yuzuyeko ubwoya+. Baraheza bamwita Esawu*+. 26 Hanyuma mwenewabo na we aravuka, aza afashe igitsintsiri ca Esawu+. Baraheza bamwita Yakobo*+. Izahaki yari afise imyaka 60 igihe Rebeka yabavyara.
27 Abo bahungu rero barakura, Esawu aba umuhigi karuhariwe+, umugabo yirirwa mw’ishamba. Ariko Yakobo yari umuntu w’intungane*, yibera mu mahema+. 28 Izahaki yakunda Esawu kuko yama amuzanira akanyama. Rebeka we yakunda Yakobo+. 29 Umusi umwe Yakobo yariko arateka isupu y’inkore, hanyuma Esawu aca arashika avuye mw’ishamba, yarushe cane. 30 Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+. 31 Yakobo amwishura ati: «Banza wemere ko nzoba ndakuguriye uburenganzira bwawe bw’imfura+.» 32 Esawu asubizayo ati: «Ehe ngira mpfe! None uburenganzira bw’imfura bumariye iki?» 33 Ariko Yakobo yongerako ati: «Banza undahire!» Aca aramurahira, agurisha kuri Yakobo uburenganzira bwiwe bw’imfura+. 34 Yakobo araheza amuha umukate n’isupu y’inkore. Nuko ararya yongera aranywa, aca arahaguruka arigira. Ukwo ni ko Esawu yasuzuguye uburenganzira bw’imfura.
26 Nuko hatera inzara mu gihugu, yiyongera ku nzara ya mbere yari yateye mu gihe ca Aburahamu+. Izahaki aca aja i Gerari kwa Abimeleki umwami w’Abafilisitiya. 2 Maze Yehova aramubonekera, amubwira ati: «Ntumanuke mu Misiri. Nube mu gihugu ngira nkwereke. 3 Nube muri iki gihugu uri umunyamahanga+, nanje nzogumana nawe nongere nguhezagire, kuko ibi bihugu vyose nzobiha wewe n’uruvyaro* rwawe+. Nzoshitsa indahiro narahiye so wawe Aburahamu+ nti: 4 “Nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu kirere+, kandi nzoruha ibi bihugu vyose+. Vyongeye, amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa* biciye ku ruvyaro rwawe+”, 5 kuko Aburahamu yanyumviye kandi akabandanya gushitsa ivyo namusavye, amabwirizwa yanje, ivyagezwe vyanje n’amategeko yanje+.» 6 Izahaki rero abandanya kuba i Gerari+.
7 Igihe abagabo b’aho hantu bamubajije ibijanye n’umugore wiwe, yaca abishura ati: «Ni mushikanje+.» Yaratinya kuvuga ko ari umugore wiwe kuko yibwira ko abantu baho bohava bamwica kubera Rebeka, kuko yari mwiza cane+. 8 Haciye igihe, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya yariko araba hanze ari mw’idirisha, aza abona Izahaki ariko akuyakuya* Rebeka umugore wiwe+. 9 Abimeleki aca ahamagara Izahaki, amubwira ati: «Bwa bundi ni umugore wawe! Kuki wavuze ko ari mushikawe?» Izahaki amwishura ati: «Nabivuze kuko natinya ko bohava banyica kubera we+.» 10 Abimeleki yongerako ati: «Ivyo wadukoreye ni ibiki+? Erega umwe mu bantu banje yari gushobora kuryamana n’umugore wawe ata co yinona, kandi wari kuba utumye twagirwa n’icaha+!» 11 Abimeleki aca ategeka abantu biwe bose ati: «Umuntu wese azokora kuri uyu mugabo n’umugore wiwe azoca yicwa!»
12 Hanyuma Izahaki atangura gutera imbuto muri ico gihugu, maze muri uwo mwaka yimbura incuro 100 ivyo yari yateye, kuko Yehova yariko aramuhezagira+. 13 Uwo mugabo aba umutunzi, aguma atera imbere ku buryo agira itunga ryinshi cane. 14 Yari afise ubusho bw’intama n’ubw’inka hamwe n’abasuku benshi cane+. Abafilisitiya baca batangura kumugirira ishari.
15 Nuko Abafilisitiya bafata ivu maze bazibira amariba yose abasuku ba se wiwe Aburahamu bari barimvye igihe yari akiriho+. 16 Amaherezo, Abimeleki abwira Izahaki ati: «Tuvireho ugende, kuko usigaye ukomeye cane kuturusha.» 17 Izahaki aca ava ng’aho aja gushinga ihema mu mubande wa Gerari+, yiberayo. 18 Izahaki yongera kwimba ya mariba abasuku ba se wiwe Aburahamu bari barimvye ariko Abafilisitiya bakayazibira se wiwe amaze gupfa+, aca ayita ya mazina nyene se yari yarayise+.
19 Abasuku ba Izahaki babandanya kwimba muri uwo mubande, maze bubura iriba ryarimwo amazi meza. 20 Abungere b’i Gerari baca batangura gushwana n’abungere ba Izahaki, bavuga bati: «Aya mazi ni rwacu!» Iryo riba aca aryita Eseki*, kuko bari bamushwaniye. 21 Nuko bimba irindi riba, ariko na ryo nyene batangura kurishwanira. Aca aryita Sitina*. 22 Mu nyuma ava ng’aho, yimba irindi riba, mugabo ntibarishwanira. Aca aryita Rehoboti*, avuga ati: «Ni kubera ko ubu Yehova yaduhaye ikibanza cagutse, agatuma tugwira muri iki gihugu+.»
23 Hanyuma ava ng’aho aduga i Beri-Sheba+. 24 Muri iryo joro, Yehova aramubonekera amubwira ati: «Ndi Imana ya so wawe Aburahamu+. Ntutinye+ kuko ndi kumwe nawe. Nzoguhezagira nongere ngwize uruvyaro rwawe kubera umusavyi wanje Aburahamu+.» 25 Izahaki aca ahubaka igicaniro maze yambaza izina rya Yehova+. Araheza ashinga ihema ng’aho+, abasuku biwe baca bahimba iriba.
26 Mu nyuma, Abimeleki ava i Gerari aza kwa Izahaki ari kumwe na Ahuzati umujanama wiwe na Fikoli umukuru w’ingabo ziwe+. 27 Izahaki aca ababwira ati: «Muzanywe n’iki ng’aha, ko mwanyanse mukanyirukana iwanyu?» 28 Bamwishura bati: «Twarabonye neza ko Yehova ari kumwe nawe+. Twaciye rero twibwira duti: “Reka tugiranire indahiro, dusezerane+ 29 ko utazotugirira nabi nk’uko natwe tutakugiriye nabi. Urazi ko twagukoreye iciza gusa, tukakurungika amahoro. Turabona ko Yehova ariko araguhezagira.”» 30 Nuko arabazimana, bararya bongera baranywa. 31 Bukeye, bavyuka kare mu gitondo maze bagiranira indahiro+. Inyuma y’ivyo, Izahaki arabasezera bigira amahoro.
32 Kuri uwo musi, abasuku ba Izahaki baza kumumenyesha ivyerekeye iriba bari bimvye+, bamubwira bati: «Twabonye amazi!» 33 Araheza aryita Shiba. Ni co gituma ico gisagara citwa Beri-Sheba+ gushika n’uyu musi.
34 Esawu ashikanye imyaka 40, azana umugore yitwa Yudita, umukobwa wa Beyeri Umuheti. Azana n’uwitwa Basemati, umukobwa wa Eloni Umuheti+. 35 Abo bagore baraheza batuntuza cane Izahaki na Rebeka+.
27 Izahaki amaze gusaza n’amaso yiwe atakibona, ahamagara Esawu+ umuhungu wiwe mukuru, amubwira ati: «Mwananje!» Na we ati: «Sabwe!» 2 Abandanya ati: «Ehe ndashaje kandi sinzi igihe nsigaje kubaho. 3 Ndagusavye rero utore umuheto wawe n’imyampi*, uje mw’ishamba umpigire akanyama+. 4 Uheze untegurire ibifungurwa biryoshe, nka bimwe nyene nkunda, hanyuma ubinzanire ndabirye kugira ndaguhezagire imbere y’uko mpfa.»
5 Rebeka yariko arumviriza igihe Izahaki yavugana na Esawu umuhungu wiwe. Nuko Esawu aja mw’ishamba guhiga akanyama kugira akazanire se wiwe+. 6 Rebeka aca abwira umuhungu wiwe Yakobo+ ati: «Mpejeje kwumva so wawe ariko abwira mwenewanyu Esawu ngo: 7 “Nzanira akanyama maze untegurire ibifungurwa biryoshe, hanyuma ndabirye kugira ndaguhezagirire imbere ya Yehova ntarapfa+.” 8 Ubu rero mwananje, nyumviriza neza, ukore ivyo ngira nkubwire+. 9 Ndagusavye ugende mu busho, unzanire imyagazi ibiri y’impene myizamyiza, kugira ntegurire so wawe ibifungurwa biryoshe, nka bimwe nyene akunda. 10 Nawe uheze ubishire so wawe abirye, kugira aguhezagire imbere y’uko apfa.»
11 Yakobo abwira nyina wiwe Rebeka ati: «Esawu mwenewacu afise ubwoya bwinshi+, ariko jewe nta bwo mfise. 12 Hamwe dawe yonkorako na ho+? Ntazoca abona ko ndiko ndabesha, agaca amvuma aho kumpezagira?» 13 Nyina wiwe amwishura ati: «Mwananje, uwo muvumo uraca ufata jewe. Wewe gusa gira ivyo nkubwiye, ugende unzanire iyo myagazi+.» 14 Aca aja gutora iyo myagazi ayizanira nyina, na we aca ategura ibifungurwa biryoshe cane, nk’ivyo se wiwe akunda. 15 Hanyuma Rebeka yinjira mu nzu, atora impuzu nziza kuruta izindi mu za Esawu umuhungu wiwe mukuru, azambika Yakobo umuhungu wiwe mutoyi+. 16 Atora n’inshato za ya myagazi, azimwambika ku maboko no kw’izosi+. 17 Araheza aha Yakobo vya bifungurwa biryoshe n’umukate yari yateguye+.
18 Nuko Yakobo yinjira iyo se wiwe ari, amubwira ati: «Da!» Na we ati: «Sabwe! Uri nde ga mwananje?» 19 Yakobo amwishura ati: «Ndi Esawu imfura yawe+. Nakoze ivyo wantumye. Niwicare urye akanyama nakuzaniye, kugira umpezagire+.» 20 Izahaki amubaza ati: «Vyagenze gute ngo ukaronke ningoga ga mwananje?» Amwishura ati: «Ni Yehova Imana yawe yamfashije kukaronka.» 21 Izahaki aca abwira Yakobo ati: «Igira hano mwananje kugira ndagukoreko, numve vy’ukuri ko uri umuhungu wanje Esawu canke ko utari we+.» 22 Yakobo aca yegera se wiwe Izahaki, na we atangura kumukorako maze avuga ati: «Ijwi ni irya Yakobo, mugabo amaboko ni aya Esawu+.» 23 Ariko ntiyamumenye, kuko amaboko yiwe yariko ubwoya nk’aya mwenewabo Esawu. Aca aramuhezagira+.
24 Hanyuma amubaza ati: «Wewe uri umuhungu wanje Esawu vy’ukuri?» Na we amwishura ati: «Ndi we.» 25 Aca amubwira ati: «Nzanira rero ako kanyama mwananje, ndakarye hanyuma ndaguhezagire.» Aca arakamuzanira ararya, amuzanira n’umuvinyu aranywa. 26 Maze Izahaki se wiwe amubwira ati: «Nyegera unsome, mwananje+.» 27 Nuko aramwegera aramusoma, maze Izahaki yumva akamoto k’impuzu ziwe+. Aca aramuhezagira, avuga ati:
«Ooh, akamoto k’umuhungu wanje kameze nk’akamoto k’umurima Yehova yahezagiye. 28 Imana y’ukuri niguhe urume ruvuye mw’ijuru+ n’ivu ryo kw’isi ryimbuka+ hamwe n’intete nyinshi n’umuvinyu mushasha+. 29 Imigwi y’abantu nigukorere, amahanga nakwunamire. Nuganze benewanyu, kandi benewanyu nibakwunamire+. Uwukuvuma arakavumwa, uwuguhezagira na we aragahezagirwa+.»
30 Izahaki agiheza guhezagira Yakobo, Yakobo na we akiva imbere ya se wiwe Izahaki, Esawu aca arashika avuye guhiga+. 31 Na we nyene aca ategura ibifungurwa biryoshe maze abizanira se wiwe, amubwira ati: «Da, vyuka urye akanyama nakuzaniye, kugira umpezagire.» 32 Izahaki aca amubaza ati: «Uri nde?» Na we ati: «Ndi umuhungu wawe, imfura yawe Esawu+.» 33 Izahaki aca atangura kujugumira cane, avuga ati: «None ni nde yagiye kumpigira akanyama akakanzanira? Nakariye imbere y’uko uza nongera ndamuhezagira, kandi nta gisivya azohezagirwa!»
34 Esawu ngo yumve ivyo se wiwe avuze, aca araturikisha ararira, araboroga n’intuntu nyinshi, avuga ati: «Mpezagira da! Mpezagira nanje+!» 35 Mugabo amubwira ati: «Mwenewanyu yambeshe kugira atware umuhezagiro wawe.» 36 Esawu aca avuga ati: «Ni co gituma yitwa Yakobo*. Agiye mu kibanza canje kabiri kose+: uburenganzira bwanje bw’imfura yaramaze kubutwara+, none ubu na ho atwaye umuhezagiro wanje+!» Yongerako ati: «None nta muhezagiro wambikiye?» 37 Izahaki amwishura ati: «Ehe namugenye ngo abe shobuja+, namuhaye benewabo bose ngo bamubere abasuku, kandi namuhaye intete n’umuvinyu mushasha+. Wumva hari ikindi nsigaranye noguha ga mwananje?»
38 Esawu amubwira ati: «None ufise umuhezagiro umwe gusa ga da? Mpezagira da! Mpezagira nanje.» Esawu aca araturikisha ararira cane+. 39 Izahaki amwishura ati:
«Uzoba kure y’ivu ryimbuka be n’urume ruva mw’ijuru+. 40 Uzobeshwaho n’inkota yawe+, kandi uzokorera mwenewanyu+. Ariko niwamwiyama, uzomwikurako*+.»
41 Ariko Esawu agirira inzigo Yakobo kubera umuhezagiro se yari yamuhaye+, aguma yibwira ati: «Dawe ari mu gupfa+. Ikigandaro nicahera, nzoca nica Yakobo mwenewacu.» 42 Rebeka yumvise ivyo Esawu umuhungu wiwe mukuru yari yavuze, aca atumako Yakobo umuhungu wiwe mutoyi, amubwira ati: «Umve, mwenewanyu Esawu ariko ategura kukwica kugira akwihore. 43 Ubu rero mwananje, nukore ivyo ngira nkubwire. Nuhungire i Harani kwa musazanje Labani+. 44 Ube uragumyeyo gushika ishavu rya mwenewanyu rihwamye, 45 gushika inzigo agufitiye igabanutse, akibagira ivyo wamukoreye. Nzoheza ngutumeko. Kuki nobaburira umusi umwe mwempi?»
46 Inyuma y’ivyo, Rebeka aguma abwira Izahaki ati: «Numva ubuzima bundambiye kubera abakobwa b’Abahetikazi+. Hamwe Yakobo yozana umugore w’Umuhetikazi, nk’aba bakobwa bo muri iki gihugu, kubaho vyoba bimariye iki+?»
28 Izahaki aca ahamagara Yakobo, aramuhezagira maze amutegeka ati: «Ntuze uzane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+. 2 Nuje i Padani-Aramu kwa Betuweli se wa nyoko wawe, urondere umugore mu bakobwa ba Labani+ musaza wa nyoko wawe. 3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi uzovamwo ishengero ry’amahanga menshi+. 4 Izoguhezagira mwe n’uruvyaro* rwawe, nk’uko yahezagiye Aburahamu+, ikugabire igihugu wabayemwo uri umunyamahanga, ico yahaye Aburahamu+.»
5 Nuko Izahaki arungika Yakobo, aja i Padani-Aramu kwa Labani umuhungu wa Betuweli Umwaramu+. Labani yari musaza wa Rebeka+ nyina wa Yakobo na Esawu.
6 Esawu amenya ko Izahaki yari yahezagiye Yakobo akamurungika i Padani-Aramu kuronderayo umugore, be n’uko yari yamutegetse ngo ntazane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+. 7 Amenya kandi ko Yakobo yari yagamburukiye se na nyina akaja i Padani-Aramu+. 8 Esawu rero aca abona ko se wiwe Izahaki adakunda abakobwa b’i Kanani+. 9 Aca aja kwa Ishimayeli umuhungu wa Aburahamu maze atwara Mahalati umukobwa wiwe, amwongera ku bandi bagore yari afise+. Mahalati yari mushiki wa Nebayoti.
10 Nuko Yakobo ava i Beri-Sheba, afata urugendo aja i Harani+. 11 Abonye izuba rirenze, aca afata ingingo yo kurara aho yari ageze. Araheza atora rimwe mu mabuye yari aho kugira aryiseguze, aryama ng’aho+. 12 Maze ararota, abona ingazi yava kw’isi igashika kw’ijuru. Abamarayika b’Imana baguma baduga bongera bamanuka kuri yo+. 13 Abona kandi Yehova ari hejuru yayo, maze abwira Yakobo ati:
«Ndi Yehova Imana ya Aburahamu sokuru wawe n’Imana ya Izahaki+. Iki gihugu uryamyeko nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe+. 14 Uruvyaro* rwawe ruzogwira nk’umukungugu wo kw’isi+. Ruzokwiragira mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe no ku ruvyaro rwawe+. 15 Ndi kumwe nawe, nzogukingira aho uzoja hose kandi nzokugarukana muri iki gihugu+. Sinzoguta kandi nzoshitsa ivyo nagusezeraniye+.»
16 Maze Yakobo arikangura, avuga ati: «Ni ukuri Yehova ari muri iki kibanza, kandi sinari ndabizi.» 17 Aca aratinya, yongerako ati: «Aha hantu harateye ubwoba vy’ukuri! Emwe, iyi ni inzu y’Imana koko+, ni irembo ry’ijuru+.» 18 Hanyuma Yakobo avyuka kare mu gitondo, atora rya buye yari yiseguje, arishinga nk’inkingi maze arisukako amavuta hejuru+. 19 Aho hantu aca ahita Beteli*, ariko ico gisagara kera citwa Luzi+.
20 Yakobo aca agira iyi ndagano ati: «Imana niyagumana nanje, ikankingira mu rugendo rwanje, ikampa ibifungurwa* n’ivyambarwa 21 kandi nkagaruka amahoro mu rugo kwa data, Yehova azoba yerekanye vy’ukuri ko ari Imana yanje. 22 Iri buye nashinze nk’inkingi rizocika inzu y’Imana+, kandi sinzobura guha Imana ic’icumi c’ikintu cose izompa.»
29 Inyuma y’ivyo, Yakobo abandanya urugendo aja mu gihugu co mu buseruko*. 2 Nuko abona iriba mu gahinga hamwe n’imigwi itatu y’ubusho bw’intama iryamye iruhande yaryo, kuko abungere bari bamenyereye kuhazana ibitungwa kugira binywe amazi. Iryo riba ryari ripfundikijwe ibuye rinini. 3 Ubusho bwose bumaze gukoranira ng’aho, baca batembagaza iryo buye ripfundikiye iriba, bagaha amazi ibitungwa. Bahejeje baca basubiza iryo buye mu kibanza caryo, bagapfundikira iryo riba.
4 Yakobo ababaza ati: «Benewacu, muri aba he?» Na bo bati: «Turi ab’i Harani+.» 5 Yongerako ati: «Mwoba muzi Labani+ umwuzukuru wa Nahori+?» Na bo bati: «Turamuzi.» 6 Asubizayo ati: «Arakomeye?» Bamwishura bati: «Arakomeye, kandi ng’urya Rasheli+ umukobwa wiwe azanye intama!» 7 Nuko ababwira ati: «Erega haracari kare*. Ntiharagera ko mwegeranya ubusho. Nimuhe amazi intama hanyuma muje kuziragira.» 8 Bamubwira bati: «Ntitwemerewe kuziha amazi ubusho bwose butarakoranira hamwe. Bumaze gukoranira hamwe, duca dutembagaza iryo buye hanyuma tukaziha amazi.»
9 Akiriko aravugana na bo, Rasheli aca arashika azanye intama za se, kuko yari umwungere. 10 Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani musaza wa nyina wiwe hamwe n’intama za Labani, ubwo nyene aca yegera iriba atembagaza rya buye maze aha amazi intama za Labani. 11 Yakobo araheza asoma Rasheli, aca araturikisha ararira. 12 Hanyuma abwira Rasheli ko yari incuti* ya se wiwe be n’uko yari umuhungu wa Rebeka. Rasheli aca yiruka kubibwira se wiwe.
13 Labani+ akimara kwumva amakuru ya Yakobo umuhungu wa mushikiwe, aca yiruka kumusanganira, aramugumbira, aramusoma maze amujana muhira iwe. Na we aca atangura kwiganira Labani ivyari vyamushikiye vyose. 14 Labani amubwira ati: «Uri incuti yanje y’amaraso* vy’ukuri.» Yakobo aca agumana na we ukwezi kwose.
15 Mu nyuma Labani abwira Yakobo ati: «Unkorere kuri gusa ngo ni uko uri incuti yanje*+? Mbwira, ushaka nzoguhembe iki+?» 16 Labani yari afise abakobwa babiri. Mukuru yitwa Leya, mutoyi na we Rasheli+. 17 Leya ntiyari afise amaso meza*, ariko Rasheli yari umukobwa mwiza cane, ateye igomwe. 18 Kubera yuko Yakobo yakunda cane Rasheli, abwira Labani ati: «Ndemeye kugukorera imyaka indwi kugira umpe Rasheli umukobwa wawe mutoyi+.» 19 Labani amwishura ati: «Nopfuma ndamuha wewe hako ndamuha uwundi mugabo. Niwigumanire nanje.» 20 Yakobo rero akora imyaka indwi kugira aronke Rasheli+, ariko kuri we wamengo ni imisi mikeya kuko yamukunda cane.
21 Maze Yakobo abwira Labani ati: «Mpa umugore wanje tubane*, kuko ikiringo twasezeranye caheze.» 22 Labani aca akoranya abantu bose bo mu kibano, agira umusi mukuru. 23 Ariko bugorovye, afata umukobwa wiwe Leya aba ari we amuha ngo abe umugore wiwe. 24 Labani kandi afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Leya kugira amukorere+. 25 Bukeye, Yakobo asanga bamuhaye Leya. Aca abwira Labani ati: «Ibi wankoreye ni ibiki? Sinagukoreye kugira umpe Rasheli? Kubera iki wampenze+?» 26 Labani amwishura ati: «Mu mico yacu umukobwa mutoyi ntatanga mukuruwe kurongorwa. 27 Numarane indwi* n’uwo mukobwa mukuru hanyuma nzoguha mutoyi wiwe, uce unkorera yindi myaka indwi+.» 28 Yakobo aca abigenza gutyo nyene, amarana indwi n’uwo mukobwa mukuru, hanyuma Labani amuha Rasheli ngo amubere umugore. 29 Labani kandi afata Biluha+ umusukukazi wiwe amuha Rasheli kugira amukorere+.
30 Maze Yakobo atwara* na Rasheli, aramukunda cane kuruta Leya, araheza akorera Labani yindi myaka indwi+. 31 Yehova abonye ko Yakobo adakunda* Leya, aca amuha ubushobozi bwo kuvyara+, ariko Rasheli we ntiyavyara*+. 32 Nuko Leya asama inda, avyara umuhungu maze amwita Rubeni*+, kuko yavuga ati: «Yehova yabonye amagorwa yanje+. Ubu umugabo wanje agiye kunkunda.» 33 Asubira gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Yehova yumvise isengesho ryanje, kubera azi ko umugabo wanje atankunda. Ni co gituma anyongeye n’uyu.» Aca amwita Simeyoni*+. 34 Yongera gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Ubu hoho umugabo wanje azokwifatanya nanje, kuko ndamuvyariye abahungu batatu.» Ni co catumye yitwa Lewi*+. 35 Nuko asubira kandi gusama inda, avyara umuhungu maze avuga ati: «Ubu ngiye kuninahaza Yehova.» Ni co gituma yamwise Yuda*+. Aca arahagarika kuvyara.
30 Rasheli abonye ko atavyariye abana Yakobo, aca agirira ishari mwenewabo, atangura kubwira Yakobo ati: «Mpa abana, ahandiho ndapfa.» 2 Yakobo aca aramushavurira cane, amubwira ati: «Mbega mbaye mu kibanza c’Imana, yo yakwimye abana?» 3 Rasheli amwishura ati: «Ng’uyu umusukukazi wanje Biluha+. Nuryamane na we kugira amvyarire* abana, nanje ndonke abana biciye kuri we.» 4 Nuko amuha umusukukazi wiwe Biluha ngo amubere umugore, Yakobo araheza aryamana na we+. 5 Biluha asama inda, avyarira Yakobo umwana w’umuhungu. 6 Rasheli aca avuga ati: «Imana yambereye umucamanza yongera iranyumviriza, maze impa umuhungu.» Ni co gituma yamwise Dani*+. 7 Biluha umusukukazi wa Rasheli yongera gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 8 Rasheli aca avuga ati: «Naniganye na mwenewacu bikomeye nongera ndamutsinda!» Nuko amwita Nafutali*+.
9 Leya abonye ko yahagaritse kuvyara, aca afata Zilupa umusukukazi wiwe amuha Yakobo ngo amubere umugore+. 10 Maze Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu. 11 Leya aca avuga ati: «Mbega umugisha!» Araheza amwita Gadi*+. 12 Inyuma y’ivyo, Zilupa umusukukazi wa Leya avyarira Yakobo umuhungu agira kabiri. 13 Leya aca avuga ati: «Mbega umunezero! Abagore ntibazobura kunyita umuhirwe+.» Nuko amwita Asheri*+.
14 Mw’iyimbura ry’ingano, Rubeni+ yariko atembera mu gahinga aza abona ivyamwa vy’amadudayimu*, aca abizanira nyina wiwe Leya. Rasheli aca abwira Leya ati: «Ndagusavye umpe ku madudayimu umuhungu wawe yakuzaniye.» 15 Na we amwishura ati: «Wibaza ko ari ikintu gitoyi kuba warantwaye umugabo+? None ugira utware n’amadudayimu y’umuhungu wanje?» Rasheli amwishura ati: «Sawa, uyu musi aca arara iwawe niwampa ku madudayimu y’umuhungu wawe.»
16 Yakobo atashe avuye mu gahinga ku mugoroba, Leya aca aja kumusanganira, amubwira ati: «Uyu musi uza kuryamana nanje, kuko nakuguze amadudayimu y’umuhungu wanje.» Yakobo aca aryamana na we muri iryo joro. 17 Imana iraheza yishura isengesho rya Leya. Nuko aribungenga maze avyarira Yakobo umuhungu agira gatanu. 18 Leya aca avuga ati: «Imana yampaye impembo yanje, kuko umugabo wanje namuhaye umusukukazi wanje.» Nuko amwita Isakari*+. 19 Leya asubira gusama inda, avyarira Yakobo umuhungu agira gatandatu+. 20 Aca avuga ati: «Imana yangabiye, emwe ingabire nziza cane! Ubu nawe nu umugabo wanje azonyihanganira+, kuko namuvyariye abahungu batandatu+.» Nuko amwita Zabuloni*+. 21 Mu nyuma avyara umukobwa, araheza amwita Dina+.
22 Amaherezo Imana yibuka Rasheli, yishura isengesho ryiwe maze imuha gusama inda+. 23 Rasheli aribungenga hanyuma avyara umuhungu, aca avuga ati: «Imana yankuyeko iceyi+!» 24 Nuko amwita Yozefu*+, avuga ati: «Yehova anyongeye uwundi muhungu.»
25 Rasheli amaze kuvyara Yozefu, Yakobo aca abwira Labani ati: «Ndungika nsubire iwacu mu gihugu canje+. 26 Mpa abagore banje nakoreye hamwe n’abana banje, mpeze ngende, kuko uzi neza ibintu vyose nagukoreye+.» 27 Labani amwishura ati: «Ndakwinginze ugumane nanje! Ndabona ibimenyamenya* vy’uko Yehova ariko arampezagira kubera wewe.» 28 Yongerako ati: «Mbwira impembo ushaka nzoyiguha+.» 29 Yakobo aca amubwira ati: «Urazi neza ingene nagukoreye n’ingene ibitungwa vyawe vyagwiriye kubera jewe+. 30 Nta vyinshi wari ufise ntaraza, ariko ubu ibitungwa vyawe vyaragwiriye, biba vyinshi cane. Yehova yaraguhezagiye kuva aho nshikiye. None nzokorera urugo rwanje ryari+?»
31 Labani amubaza ati: «None ndaguhe iki?» Yakobo amwishura ati: «Nta na kimwe! Niwangirira iki kintu kimwe, nzosubira kuragira ibitungwa vyawe nongere ndabirinde+. 32 Uyu musi tuze guca mu busho bwawe bwose. Uze gushira ku ruhande intama zose z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, isuguru z’intama zose zisa n’ivu hamwe n’impene zose zivyara z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu. Iyo ni yo izoba impembo yanje guhera ubu+. 33 Uzobona ko ndi umugororotsi* umusi uzoza gusuzuma impembo yanje. Niwasanga mfise impene ivyara itari iy’utudorodonzi canke y’ibirabagu canke isuguru y’intama idasa n’ivu, izoba ari iyo nivye.»
34 Labani aca amubwira ati: «Ni vyiza! Nibibe nk’uko ubivuze+.» 35 Nuko kuri uwo musi, Labani ashira ku ruhande amasuguru y’impene y’uturongorongo n’ay’ibirabagu n’impene zose zivyara z’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, ibitungwa vyose vyariko ibara ryera hamwe n’amasuguru y’intama yose asa n’ivu, abiha abahungu biwe ngo abe ari bo babiragira. 36 Inyuma y’ivyo, Labani atandukana na Yakobo, aja ahantu umuntu yogenda imisi itatu. Yakobo yaragira ibitungwa vya Labani vyari bisigaye.
37 Maze Yakobo afata inkoni zikiri mbisi z’igiti c’umuribeni, iz’igiti ca shakedi n’iz’igiti c’umwarumoni arazishishura uduce tumwetumwe, haca haboneka umutumba w’indani wera. 38 Aca afata izo nkoni azishira imbere y’ibitungwa, mu migazo no mu mato binyweramwo, kugira bije kunywa amazi bice bishaka kwima biri imbere y’izo nkoni.
39 Ibitungwa rero vyaca vyima biri imbere y’izo nkoni, hanyuma bikavyara iz’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu. 40 Yakobo yaca afata izivutse akazishira ku ruhande, izisigaye zo mu busho bwa Labani agaca azihindukiza zikaraba iz’uturongorongo n’izisa n’ivu. Ibitungwa vyiwe yabigumiza ukwavyo, ntiyabivanga n’ivya Labani. 41 Igihe cose ibitungwa bivyibushe bishatse kwima, Yakobo yaca ashira za nkoni mu ngomero imbere yavyo, kugira vyimire iruhande y’izo nkoni. 42 Ariko igihe ari ibitungwa vyonze bishatse kwima, ntiyashiraho izo nkoni. Ivyonze vyaguma ari ivya Labani, ariko ibivyibushe bikaba ivya Yakobo+.
43 Nuko Yakobo aratunga cane, agira amasho menshi, abasuku, abasukukazi, ingamiya hamwe n’indogobwa+.
31 Haciye igihe, Yakobo yumva ko abahungu ba Labani baza baravuga ngo: «Yakobo yaratwaye ibintu vyose vya data. Itunga afise ryose yarikuye mu bintu vya data+.» 2 Yakobo aravye mu maso ha Labani, yarabona ko atakimuraba neza nka kera+. 3 Maze Yehova abwira Yakobo ati: «Subira mu gihugu ca ba sokuru bawe no mu ncuti zawe+, nanje nzogumana nawe.» 4 Yakobo aca atumako Rasheli na Leya ngo bamusange mu gahinga aho yari aragiye ibitungwa vyiwe, 5 ababwira ati:
«Ndabona ko so wanyu atakindaba neza+, ariko Imana ya data yagumanye nanje+. 6 Murazi neza ko nakoreye so wanyu n’inguvu zanje zose+. 7 So wanyu yaragerageje kumpenda, ahindura impembo yanje incuro cumi zose, mugabo Imana ntiyamwemereye kungirira nabi. 8 Igihe yaba avuze ngo: “Iz’utudorodonzi ni zo zizoba impembo yawe”, ubusho bwose bwaca buvyara iz’utudorodonzi. Ahinduye na ho akavuga ngo: “Iz’uturongorongo ni zo zizoba impembo yawe”, ubusho bwose bwaca buvyara iz’uturongorongo+. 9 Imana rero yaguma itwara ibitungwa vya so ikabimpa. 10 Umusi umwe ibitungwa vyari mu kiringo co kwima, nca mbona mu ndoto isuguru z’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu ni zo zariko zurira ubusho+. 11 Umumarayika w’Imana y’ukuri yaciye ampamagara ndi muri iyo ndoto ati: “Yakobo!” Nanje nti: “Sabwe.” 12 Aca ambwira ati: “Raramura amaso urabe, isuguru zose ziriko zurira ubusho ni iz’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, kuko nabonye ivyo Labani ariko aragukorera vyose+. 13 Ndi Imana y’ukuri yakubonekeye i Beteli+, hamwe wasuka amavuta* ku nkingi y’ibuye ukongera ukangirira indagano+. Ubu rero haguruka uve muri iki gihugu, usubire mu gihugu cawe c’amavukiro+.”»
14 Rasheli na Leya bamwishura bati: «Mbe hari ico tugisigaje gutorana mu rugo kwa data? 15 Ntasigaye atubona nk’abanyamahanga kubera yatugurishije, akaba abeshejweho n’amahera yahawe ku bwacu+? 16 Itunga ryose Imana yatwaye data ni rwacu n’abana bacu+. Nukore rero ikintu cose Imana yakubwiye+.»
17 Yakobo aca arahaguruka, yuriza abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya+. 18 Atora ibitungwa vyose yari yaronkeye i Padani-Aramu n’ibintu vyose yari yaregeranije+, aca afata urugendo aja kwa Izahaki se wiwe mu gihugu ca Kanani+.
19 Ico gihe Labani yari yagiye kumwa* ubwoya intama ziwe. Nuko Rasheli yiba ibigirwamana*+ vya se wiwe+. 20 Vyongeye, Yakobo yari yagize amayeri, ahunga atabibwiye Labani Umwaramu. 21 Nuko arahunga maze ajabuka rwa ruzi runini*+, ajabukana n’ivyo yari afise vyose, aja mu misozi ya Gileyadi+. 22 Ku musi ugira gatatu, bamenyesha Labani ko Yakobo yari yahunze. 23 Labani aca atora incuti ziwe* maze bakurikira Yakobo, bagira urugendo rw’imisi indwi, bamuhambiriza mu misozi ya Gileyadi. 24 Ariko mw’ijoro, Imana ibonekera Labani Umwaramu+ mu ndoto+, imubwira iti: «Wiyubare ku vyo ubwira Yakobo, vyaba vyiza canke bibi+.»
25 Yakobo yari yashinze ihema ryiwe mu misozi ya Gileyadi, Labani na benewabo na bo nyene bari bashinze amahema yabo muri ako karere. Nuko Labani yegera Yakobo, 26 amubwira ati: «Ivyo wagize ni ibiki? Kuki wagize amayeri ugatwara abakobwa banje nk’imbohe zafatiwe ku rugamba? 27 Kuki wagize amayeri ugahunga mu mpisho utambwiye? Iyo ubimbwira, sinari kukurungika mu munezero, tukakuririmbira kandi tukakuvugiriza ingoma n’inanga? 28 Ariko ntiwampaye n’akaryo ko gusezera* abuzukuru banje n’abakobwa banje. Ibintu wakoze ntibibaho. 29 Nari mfise ububasha bwo kubagirira nabi, ariko Imana ya so wawe yavuganye nanje mw’ijoro, imbwira iti: “Wiyubare ku vyo ubwira Yakobo, vyaba vyiza canke bibi+.” 30 Ego data wanje wagiye kubera wari ukumbuye gusubira kwa so wawe, ariko ni kubera iki waciye wiba imana zanje+?»
31 Yakobo yishura Labani ati: «Nabitumwe n’ubwoba, kuko nibwiye nti: “Wohava unyaka abakobwa bawe ku nguvu.” 32 Uwo usangana imana zawe ace yicwa. Nusake ivyo mfise vyose abantu bacu bose babona, hanyuma utware ivyo usanga ari rwawe.» Yakobo ntiyari azi ko Rasheli yari yazivye. 33 Nuko Labani yinjira mw’ihema rya Yakobo no mw’ihema rya Leya no mw’ihema rya ba basukukazi babiri+, mugabo ntiyazitora. Aca arasohoka mw’ihema rya Leya yinjira mw’ihema rya Rasheli. 34 Mugabo Rasheli yari yashize ivyo bishusho* mu gasaho k’ikintu bicarako ku ngamiya*, aca avyicarako. Maze Labani asaka ahantu hose muri iryo hema, ariko ntiyabitora. 35 Rasheli aca abwira se wiwe ati: «Ntushavure mukama wanje, sinshoboye guhaguruka kuko ndi muri vya bihe vy’abakenyezi+.» Nuko se wiwe abandanya gusaka yitonze, ariko ntiyatora ivyo bishusho+.
36 Yakobo aca arashavura, atangura gukarira Labani, amubwira ati: «Ikibi nakoze ni ikihe? Icaha nakoze gituma unkurikira warakaye ni ikihe? 37 Ko wasatse mu bintu vyanje vyose, hari ikintu cawe wasanzeyo? Gishire aha imbere y’abantu banje n’abantu bawe hanyuma baducire urubanza. 38 Muri iyi myaka 20 tumaranye, nta ntama yawe canke impene yawe yigeze ivyara icapfuye*+, kandi sinigeze ndya impfizi y’intama yo mu busho bwawe. 39 Sinigeze ndakuzanira igitungwa catabaguwe n’igikoko+, ni je nemera kugihomba. Hagize icibwa ku murango canke mw’ijoro, waruhuka ndakikwishuye. 40 Ku murango izuba ryirirwa rirankubita, mw’ijoro nkarara ndicwa n’imbeho, kandi sinigera ntora agatiro+. 41 Maze imyaka 20 mu rugo rwawe. Nagukoreye imyaka 14 ku bw’abakobwa bawe babiri, n’imyaka 6 ku bw’ibi bitungwa, kandi wahinduye impembo yanje incuro cumi zose+. 42 Iyo Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu, imwe Izahaki yatinya+ itaba ku ruhande rwanje, uba undungitse ngaragara. Imana yarabonye amagorwa yanje n’igikorwa kitoroshe nakoze, ni co gituma yaraye ikugabishije muri iri ijoro+.»
43 Labani aca amwishura ati: «Abo bagore ni abakobwa banje, abo bana na bo ni abazukuru banje. Ivyo bitungwa ni rwanje kandi ibi bintu vyose ubona ni ivyanje n’abakobwa banje. None hari ikibi nobakorera canke ngo ndagikorere abana bavyaye? 44 Ubu rero ingo tugiranire isezerano, jewe nawe, kandi rizoba icabona hagati yacu.» 45 Yakobo aca afata ibuye, arishinga nka kurya kw’inkingi+. 46 Maze abwira abantu bari ng’aho ati: «Nimutore amabuye!» Baca baratora amabuye bayagira ikirundo, baraheza barira kuri nya kirundo c’amabuye. 47 Labani acita Yegari-Sahaduta*, ariko Yakobo acita Galeyedi*.
48 Labani aca avuga ati: «Iki kirundo c’amabuye ni icabona hagati yanje nawe uno musi.» Ni co gituma yacise Galeyedi+. 49 Yacise kandi Umunara w’Inderetsi, kuko yavuze ati: «Yehova azogume atureretse jewe nawe, igihe ata wuzoba akibona uwundi. 50 Niwafata nabi abakobwa banje, ugatangura kuzana abandi bagore biyongera kuri bo, naho ata muntu n’umwe yobibona, wibuke ko Imana yoyo izoba ibibona kuko ari yo cabona cacu.» 51 Abandanya kubwira Yakobo ati: «Raba iki kirundo c’amabuye n’iyi nkingi nashinze hagati yawe nanje. 52 Iki kirundo c’amabuye n’iyi nkingi, ni icabona+ c’uko jewe ntazobirengana nje kukugirira nabi be n’uko nawe utazobirengana uje kungirira nabi. 53 Imana ya Aburahamu+ na Nahori ikaba n’Imana ya se wabo, niducire urubanza.» Yakobo na we aca amurahira akoresheje izina ry’Imana se wiwe Izahaki yatinya+.
54 Inyuma y’ivyo, Yakobo ashikana ikimazi kuri uwo musozi, aca atumira izo ncuti* ziwe ngo basangire ibifungurwa*. Nuko bararya maze barara kuri uwo musozi. 55 Labani avyuka kare mu gitondo, asezera* abuzukuru biwe+ n’abakobwa biwe yongera arabahezagira+. Aca afata urugendo asubira muhira iwe+.
32 Yakobo aca abandanya urugendo hanyuma ahura n’abamarayika b’Imana. 2 Akibabona, aca avuga ati: «Iyi ni ikambi y’ingabo z’Imana!» Aho hantu aca ahita Mahanayimu*.
3 Nuko Yakobo arungika intumwa imbere yiwe, zija kwa Esawu mwenewabo mu gihugu ca Seyiri+, mu ntara ya Edomu+. 4 Azitegeka ati: «Mubwire databuja Esawu muti: “Ibi ni vyo Yakobo umusavyi wawe avuze: ‘Nabaye kwa Labani igihe kinini+. 5 Nsigaye mfise inka*, indogobwa, intama, abasuku n’abasukukazi+, nkaba ntumye abantu kubimenyesha databuja kugira andabe ryiza.’”»
6 Mu nyuma, izo ntumwa zigaruka aho Yakobo ari zimubwira ziti: «Twarabonanye na mwenewanyu Esawu. Ariko araza guhura nawe, kandi ari kumwe n’abagabo 400+.» 7 Yakobo aca agira ubwoba bwinshi, yuzura amaganya+. Nuko afata abantu bari kumwe na we, intama, impene, inka n’ingamiya abigabura mu migwi ibiri, 8 kuko yibwira ati: «Esawu niyatera umugwi umwe, uwundi uzoshobora guhunga.»
9 Yakobo aca arasenga ati: «Ewe Mana ya sokuru Aburahamu n’Imana ya dawe Izahaki, ewe Yehova, wewe wambwiye ngo: “Subira mu gihugu cawe no mu ncuti zawe nanje nzokugirira neza+.” 10 Jewe umusavyi wawe sinari mbereye ubuntu* bwose wangiriye n’ukuntu utigeze umpemukira+. Najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ariko raba ubu naragwiriye ku buryo nshobora kuvamwo imigwi ibiri+. 11 Ndagusavye undokore+ mu maboko ya mwenewacu Esawu, kuko ntinya ko yohava aza akantera+, twe n’abana na ba nyina. 12 Kuko wambwiye uti: “Nzokugirira neza kandi nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga, kuko ata woshobora kuwuharura+.”»
13 Araheza arara ng’aho iryo joro. Maze atora bimwe mu bitungwa yari afise kugira abigabire Esawu mwenewabo+: 14 impene zivyara 200, amasuguru 20, intama zivyara 200, impfizi z’intama 20, 15 ingamiya zonsa 30 n’abana bazo, inka zivyara 40, impfizi z’inka 10, indogobwa zivyara 20 n’indogobwa z’ingabo zikuze 10+.
16 Nuko afata umugwi umwumwe w’ibitungwa awuha abasuku biwe, ababwira ati: «Nimube murajabuka kandi musige umwanya hagati y’umugwi n’uwundi.» 17 Ategeka kandi umusuku wa mbere ati: «Niwahura na Esawu mwenewacu akakubaza ati: “Uri uwo kwa nde? Uriko uja he, kandi ivyo bitungwa ni ivya nde?” 18 Uze kumwishura uti: “Ndi umusuku w’umushumba wawe Yakobo. Iyi ni ingabire arungikiye databuja Esawu+, kandi na we nyene ari inyuma.”» 19 Ategeka n’uwa kabiri n’uwa gatatu, n’abaherekeje ivyo bitungwa bose ati: «Ivyo abe ari vyo mubwira Esawu nimwahura. 20 Mumubwire kandi muti: “Umusavyi wawe Yakobo ari inyuma ariko araza.”» Kuko yibwira ati: «Hamwe nomurungikira ingabire yo kumuhoyahoya+, hari aho yonyakira neza tumaze guhura.» 21 Nuko abasuku biwe baba barajabukana iyo ngabire, ariko we arara aho bari bashinze amahema.
22 Mu nyuma muri iryo joro, arahaguruka afata abagore biwe babiri+ n’abasukukazi biwe babiri+ n’abahungu biwe 11, ajabuka uruzi* Yaboki+. 23 Nuko abajabutsa urwo ruzi*, ajabutsa n’ivyo yari afise vyose.
24 Mu nyuma Yakobo asigara ari wenyene. Maze umugabo umwe atangura kunyinyurana na we gushika mu mutwenzi+. 25 Uwo mugabo abonye ko atamunesheje, aca akora kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo. Iryo teranirizo rica riratirigana mu gihe bariko baranyinyurana+. 26 Inyuma y’ivyo, uwo mugabo amubwira ati: «Ndekura ngende kuko bugira buce.» Yakobo amwishura ati: «Sindakurekura utabanje kumpezagira+.» 27 Uwo mugabo amubaza ati: «Witwa nde?» Na we ati: «Yakobo.» 28 Aca amubwira ati: «Ntuciswe Yakobo, ahubwo uzokwitwa Isirayeli*+, kuko wanyinyanye n’Imana+ n’abantu ukaruhira gutsinda.» 29 Yakobo na we aca amubwira ati: «Ndagusavye umbwire izina ryawe.» Mugabo amwishura ati: «Umbariza iki izina ryanje+?» Aca amuhezagirira aho nyene. 30 Yakobo aca yita aho hantu Peniyeli*+, kuko yavuze ati: «Nabonye Imana amaso mu yandi ariko sinapfuye+.»
31 Nuko izuba riseruka akirengana Penuweli*, mugabo yagenda aracumbagira kubera rya tako ryiwe+. 32 Ni co gituma gushika n’uyu musi Abisirayeli batarya inyama yo kw’itako* iri mw’iteranirizo ry’itako n’amafyinga, kuko uwo mugabo yakoze ku nyama y’itako rya Yakobo, aho rifatanira n’amafyinga.
33 Mu nyuma Yakobo abona Esawu ariko araza ari kumwe n’abagabo 400+. Aca afata abana arabagabura hagati ya Leya na Rasheli na ba basukukazi babiri+. 2 Ashira imbere ba basukukazi n’abana babo+, hakurikira Leya n’abana biwe+, hanyuma Rasheli+ na Yozefu. 3 Na we aca aja imbere yabo, agenda arunama gushika hasi, abigira incuro indwi gushika ashikiriye mwenewabo.
4 Ariko Esawu yiruka kumusanganira, amugwa mu nda yongera aramusoma, bose baca baraturikisha bararira. 5 Esawu abonye abo bagore n’abana, aca amubaza ati: «Abo muri kumwe ni bande?» Yakobo amwishura ati: «Ni abana Imana yahaye umusavyi wawe kubera ubuntu bwayo+.» 6 Ba basukukazi baca begera imbere bari kumwe n’abana babo maze barunama. 7 Leya na we nyene yegera imbere ari kumwe n’abana biwe maze barunama. Hanyuma Yozefu yegera imbere ari kumwe na Rasheli, na bo nyene barunama+.
8 Esawu amubaza ati: «Kuki warungitse barya bantu na birya bitungwa vyose twagiye turahura+?» Na we amwishura ati: «Ni ukugira ngo databuja angirire ubuntu+.» 9 Esawu aca amubwira ati: «Ivyo mfise birarenze mwenewacu+. Nugumane ibintu vyawe.» 10 Mugabo Yakobo amubwira ati: «Oya ni ukuri. Nimba wangiriye ubuntu, niwakire iyo ngabire nguhaye kuko nayirungitse kugira bikunde ko mbona mu maso hawe. Kandi igihe nabona mu maso hawe, ni nk’aho nabonye mu maso h’Imana kuko wanyakiriye unezerewe+. 11 Ndakwinginze wakire ingabire* ndakuzaniye+ kuko Imana yangiriye ubuntu, nkaba mfise ivyo nkeneye vyose+.» Aguma amwinginga ku buryo yakira iyo ngabire.
12 Mu nyuma, Esawu avuga ati: «Ingo rero tugende. Ndaza kugendera imbere yawe.» 13 Ariko Yakobo amwishura ati: «Databuja, urabona ko mfise abana bakiri bato+ hamwe n’inka n’intama vyonsa. Hamwe nobitwara gihutihuti, naho hoba umusi umwe gusa, ubusho bwose bwoca bupfa. 14 Databuja, ndakwinginze ube uragenda witangire imbere umusuku wawe. Jewe ndaza bukebuke nisunze uko ibitungwa n’abana bigenda, gushika nshitse aho databuja aba i Seyiri+.» 15 Esawu aca amubwira ati: «Reka ngusigire bamwe mu bantu banje.» Yakobo amwishura ati: «Kuki wirirwa urabasiga? Igihambaye ni uko databuja yangiriye ubuntu.» 16 Uwo musi nyene Esawu aca afata inzira, asubira i Seyiri.
17 Yakobo aca aja i Sukoti*+, araheza ahubaka inzu yiwe n’impongore z’ibitungwa vyiwe. Ni co gituma aho hantu yahise Sukoti.
18 Yakobo amaze kuva i Padani-Aramu+, ashika impore mu gisagara ca Shekemu+ mu gihugu ca Kanani+, aca ashinga ihema hafi y’ico gisagara. 19 Araheza agura iryo tongo yari yashinzemwo ihema n’abahungu ba Hamori se wa Shekemu, arigura amahera* 100+. 20 Aca ahubaka igicaniro maze acita ngo «Imana, Imana ya Isirayeli+.»
34 Dina, umukobwa Yakobo yavyaye kuri Leya+, yari afise akamenyero ko kuja guteramana* n’abakobwa bo muri ico gihugu+. 2 Shekemu umuhungu wa Hamori Umuhiwi+, umutware wo muri ico gihugu amubonye, aca aramufata, amusambanya ku nguvu. 3 Shekemu aca yiyumvamwo cane Dina umukobwa wa Yakobo, aramukunda kandi aguma amuryosharyosha. 4 Maze Shekemu abwira Hamori+ se wiwe ati: «Nsabira uyu mukobwa tubane.»
5 Igihe Yakobo yumva ko Shekemu yononye umukobwa wiwe Dina, abahungu biwe bari baragiye ibitungwa mu gahinga. Aca aguma yinumiye gushika bagarutse. 6 Mu nyuma, Hamori se wa Shekemu aja kuvugana na Yakobo. 7 Ariko abahungu ba Yakobo bumvise ivyari vyabaye, ubwo nyene baca bava mu gahinga barataha. Bari bababaye kandi bashavuye cane, kuko Shekemu yari yakoreye Isirayeli ibintu vy’akamaramaza mu kuryamana n’umukobwa wa Yakobo+, kikaba cari ikintu kidakorwa+.
8 Hamori ababwira ati: «Umuhungu wanje Shekemu arakunda cane umukobwa wanyu. Ndabasavye mumumuhe babane, 9 tugiriranire ubucuti bwo guhana abageni*. Muduhe abakobwa banyu, natwe tubahe abakobwa bacu+. 10 Muzoheza mubane natwe kandi igihugu cose kizoba kiri mu maboko yanyu, mukibemwo, mukidandarizemwo, mutunge mutunganirwe.» 11 Shekemu abwira se wa Dina na basazawe ati: «Nimunyemerere, nanje nzobaha ico muzonsaba cose. 12 Mushake munsabe inkwano nini cane n’udushimwe twinshi+. Nditeguriye kubaha ico munsaba cose, mupfe gusa kumpa uwo mukobwa tubane.»
13 Abahungu ba Yakobo bishura Shekemu na Hamori se wiwe, ariko barabahenda kuko Shekemu yari yononye Dina mushiki wabo. 14 Bababwira bati: «Ntitwokwubahuka gukora ico kintu, ngo duhe mushikiwacu umugabo atagenyerewe+. Koba ari akamaramaza kuri twebwe. 15 Twovyemera ari uko mubanje gukora iki kintu: nimumere nkatwe, abagabo bose bo muri mwebwe bagenyerwe+. 16 Aho ni ho tuzobaha abakobwa bacu, namwe muduhe abakobwa banyu. Tuzoheza tubane namwe, tube umuryango umwe. 17 Ariko nimutatwumvira ngo mugenyerwe, tuzoca dutora umukobwa wacu twigire.»
18 Hamori+ n’umuhungu wiwe Shekemu+ baca baremera ivyo bavuze. 19 Nuko uwo musore ntiyateba gushitsa ivyo bamusavye+, kuko yakunda cane umukobwa wa Yakobo. Shekemu ni we yubahwa kuruta abandi bose mu rugo kwa se.
20 Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu baca baja kw’irembo ry’igisagara cabo+, babwira abagabo bo muri co bati: 21 «Aba bantu bashaka ko twibanira amahoro. Nimuze tubareke bibere mu gihugu kandi bakidandarizemwo, kuko cagutse bihagije ku buryo batobura aho baba. Tuzoheza dutware abakobwa babo, na bo batware abakobwa bacu+. 22 Nitwemera iki kintu kimwe gusa, ni ho bazokwemera kubana natwe, tukaba umuryango umwe: abagabo bose bo muri twebwe nibagenyerwe nk’uko na bo bagenyerewe+. 23 Ivyo bafise vyose, ubutunzi bwabo bwose n’ibitungwa vyabo vyose bizoca biba rwacu. Nimuze rero tubemerere kugira babane natwe.» 24 Abasohoka bose baciye mw’irembo ry’igisagara bumviriza Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, maze abagabo bose basohoka baciye mw’irembo ry’igisagara baragenyerwa.
25 Ku musi ugira gatatu, abagabo bo muri ico gisagara bari bacumva ububabare. Nuko abahungu babiri ba Yakobo ari bo Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina+, umwe wese atora inkota yiwe, binjira mu gisagara ata wubicura maze bica abagabo bose+. 26 Bicisha inkota Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, baca batora Dina mu nzu kwa Shekemu barigira. 27 Hanyuma abandi bahungu ba Yakobo baraza, basanga abagabo bo muri ico gisagara bapfuye. Baca basahura ibintu vyaho kuko bari bononye mushiki wabo+. 28 Batwara intama zabo, impene zabo, inka zabo, indogobwa zabo, ivyari mu gisagara n’ivyari mu gahinga vyose. 29 Batwara kandi ivyo bari batunze vyose, bagira imbohe abana babo n’abagore babo, basahura n’ivyari mu mazu vyose.
30 Yakobo aca abwira Simeyoni na Lewi+ ati: «Mwankwegeye ingorane zikomeye*, kuko mutumye Abanyakanani n’Abaperizi bo muri iki gihugu banyanka urunuka. Ko turi bakeyi, bazoja hamwe badutere maze batuzimanganye, jewe n’urugo rwanje.» 31 Ariko bamwishura bati: «Mbega mushikiwacu yari akwiye gufatwa nk’umumaraya?»
35 Inyuma y’ivyo, Imana ibwira Yakobo iti: «Haguruka uduge kuba i Beteli+, uhubakire igicaniro Imana y’ukuri yakubonekeye igihe wariko urahunga mwenewanyu Esawu+.»
2 Yakobo aca abwira abo mu rugo rwiwe n’abantu bose bari kumwe na we ati: «Nimwikureko imana z’inyamahanga mufise+, mwihumanure kandi muhindure impuzu zanyu 3 maze tuduge i Beteli. Nzohubakira igicaniro Imana y’ukuri, yo yanyishuye igihe nari mu maganya kandi ikagumana nanje aho nagiye hose*+.» 4 Baca baha Yakobo imana z’inyamahanga zose bari bafise n’amahereni yari ku matwi yabo, maze Yakobo abihamba* munsi y’igiti kinini cari hafi y’i Shekemu.
5 Nuko baragenda, Imana ica iteza ubwoba ababa mu bisagara vyari bibakikuje, ku buryo badakurikira abahungu ba Yakobo. 6 Amaherezo, Yakobo n’abantu bose bari kumwe na we bashika i Luzi+, ari ho Beteli mu gihugu ca Kanani. 7 Aca ahubaka igicaniro maze ahita Eli-Beteli*, kuko ari ho Imana y’ukuri yari yamubonekeye igihe yariko ahunga mwenewabo+. 8 Mu nyuma, Debora+ umurezi wa Rebeka arapfa maze bamuhamba hafi y’i Beteli, munsi y’igiti c’umweloni. Yakobo aca acita Aloni-Bakuti*.
9 Imana yongera kubonekera Yakobo igihe yariko ava i Padani-Aramu maze iramuhezagira. 10 Imubwira iti: «Izina ryawe ni Yakobo+. Ntuzosubira kwitwa Yakobo, ahubwo uzokwitwa Isirayeli.» Ica itangura kuza iramwita Isirayeli+. 11 Imana yongerako iti: «Ndi Imana Mushoboravyose+. Nurondoke, ugwire. Amahanga azogukomokako, emwe amahanga menshi+, kandi abami bazova muri wewe+. 12 Igihugu nahaye Aburahamu na Izahaki nzokiguha, mu nyuma zawe na ho ndagihe uruvyaro* rwawe+.» 13 Imana ica iraduga itandukana na we, iva aho hantu bariko baravuganira.
14 Yakobo aca ashinga inkingi y’ibuye aho hantu yariko avuganira n’Imana, araheza ayisukako ishikanwa ry’ikinyobwa n’amavuta+. 15 Aho hantu Imana yari yavuganiye na we aca abandanya kuhita Beteli+.
16 Hanyuma bava i Beteli baragenda. Bagisigaje urugendo rutari ruto ngo bashike i Efurata, Rasheli aribaruka mugabo avyara bibanje kugorana cane. 17 Maze bikiriko biramugora kwibaruka, umwakirizi amubwira ati: «Ntutinye, n’uyu muhungu uramuronka+.» 18 Rasheli yumvise ko agira apfe (kuko yariko aracikana), aca amwita Beni-Oni*, ariko se wiwe amwita Benyamini*+. 19 Nuko Rasheli arapfa maze bamuhamba ku nzira ija i Efurata, ni ukuvuga Betelehemu+. 20 Yakobo aca ashinga inkingi hejuru y’imva yiwe, kandi iracari inkingi y’imva ya Rasheli gushika n’uyu musi.
21 Inyuma y’ivyo, Isirayeli abandanya urugendo maze ashinga ihema ryiwe arenganye umunara wa Ederi. 22 Umusi umwe igihe Isirayeli yaba muri ico gihugu, Rubeni aragenda maze aryamana na Biluha incoreke ya se hanyuma Isirayeli aravyumva+.
Yakobo yari afise abahungu 12. 23 Abahungu yavyaye kuri Leya bari Rubeni imfura yiwe+, Simeyoni, Lewi, Yuda, Isakari na Zabuloni. 24 Abo yavyaye kuri Rasheli bari Yozefu na Benyamini. 25 Abo yavyaye kuri Biluha umusukukazi wa Rasheli bari Dani na Nafutali. 26 Abo yavyaye kuri Zilupa umusukukazi wa Leya bari Gadi na Asheri. Abo ni bo bahungu Yakobo yavyariye i Padani-Aramu.
27 Nuko Yakobo ashika kwa se wiwe Izahaki i Mamure+ muri Kiriyati-Aruba, ni ukuvuga Heburoni, aho Aburahamu na Izahaki bigeze kuba ari abanyamahanga+. 28 Izahaki yabayeho imyaka 180+. 29 Hanyuma Izahaki aracikana, ahamvya ab’iwabo*, apfa ari umutama ahimbawe*. Abahungu biwe Esawu na Yakobo baca baramuhamba+.
36 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Esawu ari we Edomu+.
2 Esawu yakuye abagore biwe mu bakobwa b’i Kanani: Ada+ umukobwa wa Eloni Umuheti+, Oholibama+ umukobwa wa Ana akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni Umuhiwi, 3 hamwe na Basemati+ umukobwa wa Ishimayeli, mushiki wa Nebayoti+.
4 Ada yavyariye Esawu umuhungu yitwa Elifazi, Basemati na we amuvyarira uwitwa Ruweli.
Abo ni bo bahungu Esawu yavyariye mu gihugu ca Kanani. 6 Inyuma y’ivyo, Esawu afata abagore biwe, abahungu biwe, abakobwa biwe n’abandi bantu bose bo mu rugo rwiwe, inka ziwe n’ibindi bitungwa vyiwe vyose hamwe n’ubutunzi bwose yari yararonkeye+ mu gihugu ca Kanani, araheza aja mu kindi gihugu, kure ya mwenewabo Yakobo+. 7 Yabigize kubera yuko ivyo bari batunze vyari vyaragwiriye cane, ku buryo batari bagishobora kubana. Igihugu babamwo nticari kikibakwira kubera ibitungwa vyabo. 8 Esawu araheza yibera mu misozi ya Seyiri+. Esawu yitwa kandi Edomu+.
9 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Esawu, sekuru w’Abanyedomu baba mu misozi ya Seyiri+.
10 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Esawu: Elifazi umuhungu yavyaye kuri Ada, hamwe na Ruweli umuhungu yavyaye kuri Basemati+.
11 Abahungu ba Elifazi bari Temani+, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi+. 12 Elifazi umuhungu wa Esawu yari afise incoreke yitwa Timuna. Nuko Timuna avyarana na Elifazi umuhungu yitwa Amaleki+. Abo ni bo buzukuru* ba Ada umugore wa Esawu.
13 Aba ni bo bahungu ba Ruweli: Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo buzukuru ba Basemati+ umugore wa Esawu.
14 Aba ni bo bahungu Oholibama yavyaranye na Esawu: Yushi, Yalamu na Kora. Oholibama yari umugore wa Esawu, umukobwa wa Ana akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni.
15 Aba ni bo batware* bakomoka kuri Esawu+: abahungu ba Elifazi imfura ya Esawu bari umutware Temani, umutware Omari, umutware Zefo, umutware Kenazi+, 16 umutware Kora, umutware Gatamu n’umutware Amaleki. Abo ni bo batware bo mu gihugu ca Edomu bakomoka kuri Elifazi+, bakaba n’abuzukuru ba Ada.
17 Aba ni bo bahungu ba Ruweli umuhungu wa Esawu: umutware Nahati, umutware Zera, umutware Shama n’umutware Miza. Abo ni bo batware bo mu gihugu ca Edomu+ bakomoka kuri Ruweli, bakaba n’abuzukuru ba Basemati umugore wa Esawu.
18 Ubwa nyuma, aba ni bo bahungu ba Oholibama umugore wa Esawu: umutware Yushi, umutware Yalamu n’umutware Kora. Abo ni bo batware bakomoka kuri Oholibama umukobwa wa Ana, akaba n’umugore wa Esawu.
19 Abo ni bo bahungu ba Esawu n’abatware babakomokako. Esawu yitwa kandi Edomu+.
20 Aba ni bo bahungu ba Seyiri Umuhori baba muri ico gihugu+: Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana+, 21 Dishoni, Ezeri na Dishani+. Abo ni bo batware b’Abahori baba mu gihugu ca Edomu, bakaba n’abahungu ba Seyiri.
22 Abahungu ba Lotani bari Hori na Hemamu. Mushiki wa Lotani yitwa Timuna+.
23 Aba ni bo bahungu ba Shobali: Aluvani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.
24 Aba ni bo bahungu ba Zibeyoni+: Aya na Ana. Ana ni we yubuye amazi y’amashuha mu gahinga igihe yari aragiye indogobwa za se wiwe Zibeyoni.
25 Aba ni bo bana ba Ana: umuhungu yitwa Dishoni, umukobwa na we Oholibama.
26 Aba ni bo bahungu ba Dishoni: Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani+.
27 Aba ni bo bahungu ba Ezeri: Biluhani, Zavani na Akani.
28 Aba ni bo bahungu ba Dishani: Uzi na Arani+.
29 Aba ni bo batware b’Abahori: umutware Lotani, umutware Shobali, umutware Zibeyoni, umutware Ana, 30 umutware Dishoni, umutware Ezeri n’umutware Dishani+. Abo ni bo batware b’Abahori baba mu gihugu ca Seyiri hisunzwe ukuntu bakurikirana.
31 Aba ni bo bami batwaye igihugu ca Edomu+ imbere y’uko Abisirayeli baronka umwami+: 32 Bela umuhungu wa Beyori yarabaye umwami w’ico gihugu. Igisagara ciwe citwa Dinihaba. 33 Bela amaze gupfa, Yobabu umuhungu wa Zera w’i Bozira yaciye atwara mu kibanza ciwe. 34 Yobabu amaze gupfa, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani yaciye atwara mu kibanza ciwe. 35 Hushamu amaze gupfa, Hadadi umuhungu wa Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani+ mu karere ka Mowabu, yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Aviti. 36 Hadadi amaze gupfa, Samula w’i Masireka yaciye atwara mu kibanza ciwe. 37 Samula amaze gupfa, Shawuli w’i Rehoboti iruhande y’uruzi yaciye atwara mu kibanza ciwe. 38 Shawuli amaze gupfa, Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori yaciye atwara mu kibanza ciwe. 39 Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori amaze gupfa, Hadari yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli. Mehetabeli yari umukobwa wa Matiredi, Matiredi na we akaba umukobwa wa Mezahabu.
40 Aya rero ni yo mazina y’abatware bakomoka kuri Esawu hakurikijwe imiryango yabo n’intara zabo: umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+, 41 umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni, 42 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari, 43 umutware Magidiyeli n’umutware Iramu. Abo ni bo batware b’Abanyedomu hakurikijwe intara babamwo mu gihugu cabo+. Esawu ni we sekuru w’Abanyedomu+.
37 Yakobo abandanya kuba mu gihugu ca Kanani, aho se yari yarabaye ari umunyamahanga+.
2 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Yakobo.
Igihe Yozefu+ yari umusore w’imyaka 17, yararagira ibitungwa+ ari kumwe n’abahungu ba Biluha+ hamwe n’abahungu ba Zilupa+, abagore ba se wiwe. Umusi umwe, Yozefu yariganiye se wiwe ibintu bibi abo bahungu bakora. 3 Isirayeli yarakunda Yozefu kuruta abandi bahungu biwe bose+, kuko yari yamuvyaye ashaje. Nuko amukoreshereza ikanzu idasanzwe*. 4 Benewabo babonye ko se amukunda cane*, baca batangura kumwanka kandi ntibasubira kumuvugisha neza.
5 Haciye igihe, Yozefu arota indoto araheza ayiganira benewabo+, baba baronse iyindi mvo yo kumwanka. 6 Ababwira ati: «Umve namwe iyi ndoto narose: 7 twariko turaboha imiganda hagati mu murima, nza mbona umuganda wanje uravyutse uguma uhagaze, imiganda yanyu ica irawukikuza irawunamira+.» 8 Benewabo bamwishura bati: «Ushatse kuvuga ko ugiye kwigira umwami wo kutuganza+?» Baba baronse iyindi mvo yo kumwanka kubera indoto ziwe n’ivyo yari yavuze.
9 Hanyuma arota iyindi ndoto, ayibwira benewabo ati: «Nasubiye kurota. Ubu na ho nabonye izuba, ukwezi n’inyenyeri 11 biriko biranyunamira+.» 10 Mu nyuma yiganira iyo ndoto se wiwe benewabo bumva, se wiwe aca aramukarira, amubwira ati: «Iyo ndoto yawe isobanura iki? Ushatse kuvuga ko jewe na nyoko wawe na benewanyu tugiye kukwunamira gushika hasi?» 11 Benewabo baca bamugirira ishari+, ariko se wiwe abika ayo majambo ku mutima.
12 Nuko benewabo baja kuragira ibitungwa vya se hafi y’i Shekemu+. 13 Mu nyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: «Benewanyu baragiye ibitungwa hafi y’i Shekemu. Ingo ndagutumeyo.» Yozefu amwishura ati: «Nta ngorane.» 14 Isirayeli amubwira ati: «Ndakwinginze ugende urabe ko benewanyu bakomeye, urabe n’ingene ibitungwa bimerewe hanyuma uze umbwire.» Aca aramurungika, ava mu kiyaya c’i Heburoni+ aja i Shekemu. 15 Mu nyuma, umugabo umwe amusanga ariko ayerera mu gahinga, maze amubaza ati: «Uriko urondera iki?» 16 Na we amwishura ati: «Ndiko ndondera benewacu. Woba uzi iyo baragiye?» 17 Uwo mugabo amwishura ati: «Bavuye ng’aha, kuko numvise bavuga ko bagiye i Dotani.» Yozefu aca arabakurikira, abasanga i Dotani.
18 Benewabo bamubona akiri kure, maze atarabashikira, batangura kugira umugambi wo kumwica. 19 Babwirana bati: «Ehe ka gahungu k’indoto karaje+! 20 Ubu rero ingo tumwice, tumuterere mu kinogo c’amazi. Tuzoca tuvuga ko igikoko co mw’ishamba camuriye, hanyuma turabe ikizova mu ndoto ziwe.» 21 Rubeni+ avyumvise, aca agerageza kumurokora. Ababwira ati: «Ntitumwice+.» 22 Abandanya ati: «Ntimusese amaraso+. Nimumuterere muri iki kinogo c’amazi co mu gahinga ariko ntimumugirire nabi*+.» Yashaka kumurokora kugira amusubize kwa se.
23 Yozefu agishikira benewabo, baca bamwambura ikanzu yari yambaye, ya kanzu idasanzwe+, 24 maze bamuterera mu kinogo c’amazi. Ico gihe caragaragara, nta mazi yarimwo.
25 Hanyuma baricara kugira barye. Ariko baza babona umugwi w’Abishimayeli+ bavuye i Gileyadi. Ingamiya zabo zari zitwaye ibintu bimota vyitwa labudano*, amavuta amota neza* n’ibishishwa vy’uburembo+. Bariko bamanuka mu Misiri. 26 Yuda aca abwira benewabo ati: «Vyotumarira iki kwica mwenewacu hanyuma tukanyegeza ivyo twakoze*+? 27 Ingo tumugurishe+ ku Bishimayeli, ariko ntitumugirire nabi. Erega ni mwenewacu, umubiri wacu.» Nuko bumvira mwenewabo. 28 Baca bakura Yozefu muri ca kinogo maze bamugurisha ifeza* 20+ ku badandaza b’Abamidiyani*+ bariko bararengana. Abo Bishimayeli baca bajana Yozefu mu Misiri.
29 Mu nyuma Rubeni agaruka kuri ca cobo c’amazi, asanga Yozefu nta wuriyo. Aca yitaburirako impuzu ziwe. 30 Nuko asubira kwa benewabo, ababwira ati: «Umwana yatakaye! None ga yemwe ndabigenza gute?»
31 Baca bakerera isuguru y’impene maze bafata ya kanzu ya Yozefu, bayijobeka mu maraso yayo. 32 Baraheza barungika iyo kanzu kwa se, bavuga bati: «Ni iyo twatoye. Suzuma urabe ko ari ya kanzu y’umuhungu wawe canke ko atari yo+.» 33 Nuko arayisuzuma maze avuga ati: «Ni ya mpuzu y’umuhungu wanje! Igikoko co mw’ishamba caramuriye! Yozefu yaratabaguwe nta kabuza!» 34 Yakobo aca yitaburirako impuzu ziwe maze akenyera igunira. Amara imisi myinshi agandariye umuhungu wiwe. 35 Abahungu biwe n’abakobwa biwe bose baguma bagerageza kumuhoza, ariko aguma yanka, avuga ati: «Nzorinda nja mu kuzimu+ nkigandariye umuhungu wanje!» Nuko se wiwe aguma amuririra.
36 Ba Bamidiyani bashitse mu Misiri, baca bagurisha Yozefu kuri Potifari. Potifari yari umukozi wo ku kirimba kwa Farawo+, akaba n’umukuru w’abacungera umwami+.
38 Ico gihe Yuda atandukana na benewabo, aja gushinga ihema ryiwe hafi y’umugabo w’Umunyadulamu yitwa Hira. 2 Yuda abona ng’aho umukobwa w’umugabo w’Umunyakanani+ yitwa Shuwa. Nuko aramutwara maze aryamana na we. 3 Uwo mukobwa araheza asama inda, avyara umuhungu maze Yuda amwita Ere+. 4 Yongera gusama inda, avyara umuhungu maze amwita Onani. 5 Yongera kuvyara umuhungu maze amwita Shela. Igihe yamuvyara, Yuda yari i Akizibu*+.
6 Mu nyuma Yuda azanira umugore imfura yiwe Ere. Uwo mugore yitwa Tamari+. 7 Mugabo Ere imfura ya Yuda yakora ibintu bibabaza Yehova. Nuko Yehova aca aramwica. 8 Yuda aca abwira Onani ati: «Nucure umugore wa mwenewanyu, uryamane na we kugira uronse uruvyaro mwenewanyu+.» 9 Ariko Onani yari azi ko urwo ruvyaro rutobaye rwiwe+. Igihe rero yaba ariko arangura amabanga y’abubatse n’umugore wa mwenewabo, yaca asesa hasi imbuto ziwe kugira ntaronse uruvyaro mwenewabo+. 10 Ivyo yakora vyari bibi mu maso ya Yehova. Nuko na we nyene aca aramwica+. 11 Yuda aca abwira umukazana wiwe Tamari ati: «Nube uraja kuba kwa so, ugume uri umupfakazi gushika umuhungu wanje Shela akuze.» Yabigize gutyo kuko yibwira ati: «Shela na we nyene yohava apfa nka benewabo+.» Nuko Tamari aragenda, aguma kwa se wiwe.
12 Haciye igihe, umugore wa Yuda ari we mukobwa wa Shuwa+ arapfa. Ikigandaro giheze, Yuda aca aja i Timuna+ kuraba abamwa ubwoya intama ziwe, agenda ajanye n’umugenzi wiwe Hira Umunyadulamu+. 13 Maze abantu babwira Tamari bati: «Sobukwe ariko aduga i Timuna kumwa ubwoya intama ziwe.» 14 Tamari aca akura impuzu z’abapfakazi, yambara umwitwikiro maze arenzako igitambara ariyoberanya. Araheza aja kwicara kw’irembo ry’igisagara ca Enayimu, iruhande y’inzira ija i Timuna. Yabigize kuko yari yarabonye ko Shela yari yarakuze, ariko sebukwe ntiyamumuha ngo amubere umugore+.
15 Yuda akimubona, aca yibaza ko ari umumaraya, kuko yari yipfutse mu maso. 16 Nuko akatira iyo ari iruhande y’inzira, amubwira ati: «Ndagusavye unyemerere turyamane.» Ntiyari azi ko ari umukazana wiwe+. Ariko Tamari amubaza ati: «Umpa iki kugira turyamane?» 17 Amwishura ati: «Nzokurungikira umwagazi w’impene wo mu busho bwanje.» Mugabo Tamari amubaza ati: «Wompa ingwati mba ndafata gushika uwurungitse?» 18 Yuda amubwira ati: «Ndaguhe ingwati nyabaki?» Na we amwishura ati: «Impeta yawe y’ikidodo*+ n’umugozi wayo hamwe n’iyo nkoni ufise mu kuboko.» Yuda aca arabimuha maze aryamana na we, hanyuma Tamari aribungenga. 19 Inyuma y’ivyo arahaguruka aragenda, akura ca gitambara maze yambara impuzu z’abapfakazi.
20 Mu nyuma, Yuda arungikana wa mugenzi wiwe w’Umunyadulamu+ wa mwagazi w’impene kugira agarukane ya ngwati yari yahaye wa mugore, mugabo aramubura. 21 Aca abaza abantu baho ati: «Wa mumaraya* yahora iruhande y’ibarabara ng’aha i Enayimu ari hehe?» Bamwishura bati: «Nta mumaraya yigeze aba ng’aha.» 22 Aca agaruka kwa Yuda, amubwira ati: «Namubuze, kandi n’abantu baho bambwiye ko ata mumaraya yigeze abayo.» 23 Yuda aca avuga ati: «Nashake abitware. Nakare twohava twimaramaza tugumye tumurondera. Kazima nari narungitse uwo mwagazi ariko ukamubura.»
24 Ariko haciye nk’amezi atatu, abantu babwira Yuda bati: «Tamari umukazana wawe yarakoze ubumaraya, kandi afise inda.» Yuda aca avuga ati: «Nimumusohore mumuturire+.» 25 Bariko baramusohora, atuma umuntu kuri sebukwe ati: «Nyene ibi bintu ni we yanteye inda.» Yongerako ati: «Ndagusavye usuzume iyi mpeta y’ikidodo, uyu mugozi n’iyi nkoni, urabe ko womenya nyenevyo+.» 26 Yuda aca arabisuzuma, maze avuga ati: «Aragororotse kundusha, kuko ntamuhaye umuhungu wanje Shela+.» Kuva ico gihe ntiyasubiye kuryamana na we.
27 Hageze ko avyara, basanze yari afise inda y’amahasa. 28 Nuko igihe yariko aribaruka, umwana umwe asohora ukuboko. Ubwo nyene umwakirizi aca abohera akanyuzi gatukura* kuri ukwo kuboko, avuga ati: «Uyu ni we yavutse ubwa mbere.» 29 Mugabo akimara gusubiza inyuma kwa kuboko, mwenewabo aca arasohoka. Umwakirizi aca aratangara, avuga ati: «Urazi kwicira inzira basi!» Baca bamwita Peresi*+. 30 Mu nyuma mwenewabo, umwe bari baboheye akanyuzi gatukura ku kuboko na we aravuka, maze bamwita Zera+.
39 Nuko ba Bishimayeli+ bamanukana Yozefu mu Misiri+. Bamugurisha ku Munyamisiri yitwa Potifari+, umukozi wo ku kirimba kwa Farawo, akaba n’umukuru w’abamucungera. 2 Ariko Yehova yari kumwe na Yozefu+. Ivyo vyatumye aroranirwa yongera ashingwa kuganza urugo rwa shebuja Umunyamisiri. 3 Shebuja rero abona ko Yehova yari kumwe na Yozefu be n’uko Yehova yatuma aroranirwa mu vyo akora vyose.
4 Potifari aramukunda cane, aba umukozi wiwe yizigira. Aca amushinga kugaba urugo rwiwe no kwitwararika ivyo atunze vyose. 5 Kuva aho amushingiye kugaba urugo rwiwe no kwitwararika ivyo atunze vyose, Yehova aguma ahezagira urugo rw’uwo Munyamisiri kubera Yozefu. Umuhezagiro wa Yehova uba ku vyo yari atunze vyose mu rugo no mu mirima+. 6 Potifari araheza azeza Yozefu ivyo atunze vyose, ntiyasubira kuraba ikintu na kimwe kiretse ivyo yafungura gusa. Vyongeye, Yozefu yari umusore w’inguvu kandi mwiza cane.
7 Inyuma y’ivyo, umugore wa shebuja atangura kuza aritegereza Yozefu, amubwira ati: «Ingo turyamane!» 8 Ariko Yozefu yaranka, akamwishura ati: «Databuja nta co yinona ku vyo yanjeje muri uru rugo, kandi yanshinze kwitwararika ivyo atunze vyose. 9 Nta n’umwe anduta muri uru rugo, kandi nta kintu na kimwe databuja yanyimye kiretse wewe, kuko uri umugore wiwe. None nokwubahuka gute gukora ikibi gikomeye gutyo, ngacumura ku Mana+?»
10 Yaguma abimubwira imisi yose, ariko Yozefu ntiyigera yemera kuryamana na we canke ngo agumane na we. 11 Nuko umusi umwe Yozefu yinjira mu nzu gukora igikorwa ciwe, kandi nta mukozi n’umwe yari muri iyo nzu. 12 Inabuja aca amucakira impuzu, amubwira ati: «Ingo turyamane!» Ariko Yozefu amutana impuzu yiwe mu maboko, ahungira hanze. 13 Abonye ko amutanye impuzu yiwe mu maboko agahungira hanze, 14 aca akoma induru atabaza abagabo bo mu rugo rwiwe, ababwira ati: «Ndabira ntuze! Yatuzaniye uwu Muheburayo kugira adukoze isoni. Yansanze iyo ndi ngo turyamane, mugabo nca nkoma induru n’ijwi ryanje ryose. 15 Aho yumviye ko nkomye induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje ahungira hanze.» 16 Aca agumiza iyo mpuzu iruhande yiwe gushika shebuja wa Yozefu atashe.
17 Araheza amubwira vya bindi nyene ati: «Wa mukozi w’Umuheburayo watuzanira, yansanze iyo ndi kugira ankoze isoni. 18 Ariko aho yumviye ko nkomye induru, yaciye ata impuzu yiwe iruhande yanje ahungira hanze.» 19 Potifari yumvise ivyo umugore wiwe amubwiye ngo: «Ibi ni vyo umusuku wawe yankoreye», aca ararungura n’ishavu. 20 Shebuja wa Yozefu aca amushira mw’ibohero, ahantu bapfungira imbohe z’umwami. Nuko aguma ng’aho mw’ibohero+.
21 Ariko Yehova agumana na Yozefu, aguma amugirira ubuntu*. Atuma umukuru w’ibohero amukunda cane+. 22 Uwo mukuru w’ibohero araheza azeza Yozefu imbohe zose, kandi ikintu cose zakora ni Yozefu yagikoresha+. 23 Uwo mukuru w’ibohero nta na kimwe yasuzuma mu vyo Yozefu yari ajejwe, kuko Yehova yari kumwe na Yozefu, kandi ico yakora cose Yehova yatuma kiroranirwa+.
40 Inyuma y’ivyo, umukuru w’abahereza ibinyobwa+ umwami wa Misiri hamwe n’umukuru w’abotsa imikate, bacumura kuri shebuja ari we mwami wa Misiri. 2 Farawo aca ashavurira abo bakozi biwe babiri, ni ukuvuga umukuru w’abahereza ibinyobwa n’umukuru w’abotsa imikate+. 3 Nuko abashira mw’ibohero ryari mu rugo rw’umukuru w’abacungera umwami+, ha handi Yozefu yari apfungiwe+. 4 Umukuru w’abacungera umwami aca agena Yozefu ngo agumane na bo yongere abitwararike+. Bamara igihe mw’ibohero.
5 Bakiri aho mw’ibohero, wa mukozi ahereza ibinyobwa umwami wa Misiri n’umwe ajejwe igikorwa co kwotsa imikate, bose barota indoto mw’ijoro rimwe kandi indoto imwimwe yose yari ifise insobanuro yayo. 6 Bukeye mu gitondo, Yozefu yinjira kubaraba asanga barijiriwe. 7 Aca ababaza ati: «Uyu musi ko mwijiriwe ni ibiki?» 8 Bamwishura bati: «Twese twarose indoto, ariko twabuze uwuzidusobanurira.» Yozefu aca ababwira ati: «None Imana si yo itanga insobanuro+? Nimuzimbwire numve.»
9 Wa mukuru w’abahereza ibinyobwa aca yiganira Yozefu indoto yiwe ati: «Narose mbona umuzabibu imbere yanje. 10 Uwo muzabibu wari ufise udushami dutatu. Nuko uranaga hanyuma uzana amashurwe, ayo mashurwe aca avamwo inzabibu* zihiye. 11 Nari mfise igikombe ca Farawo mu kuboko, nca mfata za nzabibu ndazikanyira mu gikombe. Ndaheza mfata ico gikombe ndagihereza Farawo.» 12 Yozefu amubwira ati: «Ng’iyi insobanuro yavyo: utwo dushami dutatu ni imisi itatu. 13 Mu misi itatu uhereye ubu, Farawo azogukura mw’ibohero agusubize mu kazi kawe+. Uzokwongera gushira igikombe mu minwe ya Farawo, nk’uko wahora ubigira ukimuhereza ibinyobwa+. 14 Ariko uzonyibuke ivyawe nivyagenda neza. Ndagusavye uzongirire ubuntu*, umvugire kwa Farawo kugira ankure aha hantu. 15 Naranyurujwe nkuwe mu gihugu c’Abaheburayo+, kandi no ng’aha nta kintu na kimwe nakoze cotuma banshira mw’ibohero*+.»
16 Wa mukuru w’abotsa imikate yumvise ko insobanuro Yozefu atanze ari nziza, aca amubwira ati: «Nanje narose nikoreye ibiseke bitatu birimwo imikate yera. 17 Mu giseke co hejuru hariyo ibifungurwa vya Farawo vy’ubwoko bwose vyokejwe mw’ifuru, kandi inyoni zariko zirabirya biri muri ico giseke nikoreye.» 18 Yozefu amwishura ati: «Ng’iyi insobanuro yavyo: ivyo biseke bitatu ni imisi itatu. 19 Mu misi itatu uhereye ubu, Farawo azoguca umutwe akumanike ku giti, kandi inyoni zizorya inyama zawe+.»
20 Umusi ugira gatatu wari umusi mukuru wo kwibuka ivuka*+ rya Farawo. Nuko agirira umusi mukuru abasuku biwe bose, araheza asohora wa mukuru w’abahereza ibinyobwa na wa mukuru w’abotsa imikate, abasuku biwe bose babona. 21 Asubiza wa mukuru w’abahereza ibinyobwa mu gikorwa ciwe, abandanya kumuhereza ibinyobwa. 22 Mugabo amanika wa mukuru w’abotsa imikate, nk’uko nyene Yozefu yari yabibasobanuriye+. 23 Ariko wa mukuru w’abahereza ibinyobwa ntiyigeze yibuka Yozefu+.
41 Haheze imyaka ibiri, Farawo arota+ ahagaze iruhande y’uruzi Nili. 2 Abona inka indwi zisa neza kandi zivyibushe ziriko ziduga ziva mu ruzi Nili, zica zitangura kurisha ubwatsi buri ku nkengera y’urwo ruzi+. 3 Abona izindi nka indwi zisa nabi kandi zonze ziriko ziva mu ruzi Nili inyuma yazo, zica zihagarara iruhande ya zimwe zivyibushe ku nkengera y’uruzi. 4 Maze za nka zisa nabi kandi zonze zitangura kurya za nka indwi zisa neza kandi zivyibushe. Farawo aca arikangura.
5 Asubira gusinzira maze arota ubugira kabiri. Abona amahundo indwi yuzuyemwo intete kandi mezameza ariko amera ku gati kamwe+. 6 Hanyuma abona ayandi mahundo indwi y’intete yonze kandi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko ariko arakura inyuma yayo. 7 Maze ya mahundo y’intete yonze atangura kumira ya mahundo indwi y’intete yuzuye kandi mezameza. Farawo aca arikangura, asanga zari indoto.
8 Bukeye, Farawo ahagarika umutima cane. Aca atumako abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri bose n’abantu b’incabwenge* baho bose. Araheza abiganira indoto ziwe, ariko nta n’umwe yashoboye kuzimusobanurira.
9 Wa mukuru w’abahereza ibinyobwa aca abwira Farawo ati: «Uno musi ngira nature ibicumuro vyanje. 10 Igihe kimwe Farawo yari yashavuriye abasuku biwe. Twe n’umukuru w’abotsa imikate yaciye adushira mw’ibohero ryo mu rugo rw’umukuru w’abacungera umwami+. 11 Inyuma y’aho, twese twararose mw’ijoro rimwe. Umwe wese yarose indoto yiwe, kandi yari ifise insobanuro yayo+. 12 Twari kumwe n’umusore w’Umuheburayo, umukozi w’umukuru w’abacungera umwami+. Tumaze kumwiganira indoto zacu+, yaciye azidusobanurira. 13 Kandi vyagenze nk’uko nyene yabidusobanuriye: jewe narasubijwe mu kazi kanje, ariko uwo wundi yaramanitswe+.»
14 Farawo aca atumako Yozefu+, baca bamukura mw’ibohero* ningoga+. Nuko arimosha hanyuma ahindura impuzu, maze yinjira kwa Farawo. 15 Farawo abwira Yozefu ati: «Narose indoto ariko nta n’umwe yashoboye kuyinsobanurira. Mugabo narumvise ko wewe ushoboye gusobanura indoto+.» 16 Yozefu yishura Farawo ati: «Si jewe bivako. Imana ni yo iza kumenyesha Farawo agakuru keza+.»
17 Farawo abandanya kubwira Yozefu ati: «Narose mpagaze ku nkengera y’uruzi Nili. 18 Hanyuma mbona inka indwi zisa neza kandi zivyibushe ziriko ziduga ziva mu ruzi Nili, zica zitangura kurisha ubwatsi buri hafi y’urwo ruzi+. 19 Nca mbona izindi nka indwi zigoyagoya, zisa nabi cane kandi zonze, zije inyuma yazo. Sinari bwigere mbona inka zisa nabi gutyo mu gihugu cose ca Misiri. 20 Maze za nka zonze kandi mbi zica zitangura kurya za nka indwi zivyibushe za mbere. 21 Ariko zimaze guheza kuzirya, nta wari kumenya ko zaziriye kuko zagumye zisa nabi nk’ubwa mbere. Nca ndikangura.
22 Hanyuma nasubiye kurota, maze mbona amahundo indwi yuzuye intete kandi mezameza ariko amera ku gati kamwe+. 23 Inyuma yayo haciye hamera ayandi mahundo indwi yumye kandi yonze, yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko. 24 Ya mahundo y’intete yonze yaciye atangura kumira ya mahundo indwi mezameza. Nabibwiye abaherezi bakora ivy’amageza+, ariko nta n’umwe yashoboye kubinsobanurira+.»
25 Yozefu aca abwira Farawo ati: «Indoto za Farawo zisobanura ikintu kimwe. Ico Imana y’ukuri igiye gukora yakibwiye Farawo+. 26 Izo nka indwi nziza ni imyaka indwi. Ayo mahundo indwi y’intete meza na yo nyene ni imyaka indwi. Izo ndoto zisobanura ikintu kimwe. 27 Izo nka indwi zonze kandi zisa nabi zaje inyuma yazo ni imyaka indwi. Ayo mahundo indwi y’intete agaragara, yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko, izoba imyaka indwi y’inzara. 28 Nk’uko nyene nabibwiye Farawo, ico Imana y’ukuri igiye gukora yakimweretse.
29 Hagiye kuba imyaka indwi y’umwimbu w’umusesekara mu gihugu cose ca Misiri. 30 Ariko inyuma yayo hazoza imyaka indwi y’inzara, kandi wa mwimbu w’umusesekara wose wo mu gihugu ca Misiri uzokwibagirwa. Inzara izoyogeza igihugu+. 31 Iyo nzara izoba ikomeye ku buryo ata wuzosubira kwibuka umwimbu w’umusesekara wari mu gihugu. 32 Imana y’ukuri yeretse Farawo iyo ndoto incuro zibiri kuko yamaze gufata ingingo yo gukora ivyo bintu kandi ikaba igiye kubishitsa vuba.
33 Ubu rero Farawo narondere umugabo aciye ubwenge kandi akerebutse, amushinge igihugu ca Misiri. 34 Farawo nagene mu gihugu cose abakuru* bajejwe kwegeranya ica gatanu c’umwimbu wo mu Misiri muri iyo myaka indwi y’umusesekara+. 35 Nibegeranye ibifungurwa vyose muri iyo myaka myiza igiye kuza. Nibarunde mu bigega intete abantu bazorya baheze bazibike neza mu bisagara, kandi Farawo ni we azogaba ivyo bigega+. 36 Ivyo bifungurwa bikwiye kubikwa kugira igihugu kizovyikoreko muri iyo myaka indwi y’inzara izoshikira igihugu ca Misiri, kugira igihugu ntikiyogere kubera inzara+.»
37 Nuko Farawo n’abasuku biwe bose bashima ico ciyumviro. 38 Farawo aca abwira abasuku biwe ati: «Hari uwundi muntu tworonka ameze nk’uyu arimwo impwemu y’Imana?» 39 Maze Farawo abwira Yozefu ati: «Ko Imana yakumenyesheje ivyo bintu vyose, nta wundi muntu ariho aciye ubwenge kandi akerebutse nkawe. 40 Ni wewe uzogaba urugo rwanje, kandi abantu banje bose bazokugamburukira muri vyose+. Na jewe nzokuruta gusa kubera ndi umwami.» 41 Farawo yongerako ati: «Umve, ndaguhaye kugaba igihugu cose ca Misiri+.» 42 Farawo aca yambura impeta yiwe y’ikidodo ayambika Yozefu ku rutoke, amwambika n’impuzu nziza cane* be n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. 43 Vyongeye, amwuriza umukogote w’iteka ugira kabiri yari afise, maze abantu bagenda barasemerera imbere yiwe bati: «Avreki*!» Ukwo ni ko yamuhaye kugaba igihugu cose ca Misiri.
44 Farawo yongera kubwira Yozefu ati: «Ndi Farawo, mugabo udatanze uruhusha nta wuzokora ikintu na kimwe mu gihugu cose ca Misiri+.» 45 Inyuma y’ivyo, Farawo yita Yozefu Zafenati-Paneya yongera amuha Asenati+ umukobwa wa Potifera umuherezi w’i Oni* ngo amubere umugore. Nuko Yozefu atangura gutegeka* igihugu ca Misiri+. 46 Yozefu yari afise imyaka 30+ igihe yatangura gukorera Farawo* umwami wa Misiri.
Maze Yozefu ava kwa Farawo, atangura kugira ingendo mu gihugu cose ca Misiri. 47 Nuko haboneka umwimbu mwinshi cane mu gihugu muri ya myaka indwi y’umusesekara. 48 Yozefu aguma yegeranya ibifungurwa vyose vyo mu Misiri muri iyo myaka indwi, akaza arabirunda mu bigega vyo mu bisagara. Igisagara cose yakibikamwo ibifungurwa vyimbuwe mu mirima igikikuje. 49 Abandanya kurunda intete mu bigega, ziba nyinshi cane nk’umusenyi wo ku kiyaga, gushika n’aho baheba kuzipima kuko bitari bigikunda.
50 Imbere y’uko umwaka w’inzara ushika, Yozefu yari amaze kuvyara abahungu babiri+ kuri Asenati umukobwa wa Potifera, umuherezi w’i Oni*. 51 Yozefu yita imfura yiwe Manase*+, kuko yavuga ati: «Imana yanyibagije ivyago vyanje vyose n’urugo rwa dawe rwose.» 52 Uwugira kabiri amwita Efurayimu*+, kuko yavuga ati: «Imana yampaye kurondokera mu gihugu nagorewemwo+.»
53 Nuko ya myaka indwi y’umusesekara mu gihugu ca Misiri irahera+, 54 haca hakurikira ya myaka indwi y’inzara nk’uko Yozefu yari yarabivuze+. Inzara irakwiragira mu bihugu vyose, ariko mu gihugu cose ca Misiri hariho ibifungurwa*+. 55 Amaherezo igihugu cose ca Misiri giterwa n’inzara, abantu batangura kuririra Farawo ngo abahe ibifungurwa+. Farawo aca abwira Abanyamisiri bose ati: «Nimugende kwa Yozefu kandi ico ababwira cose mugikore+.» 56 Inzara ibandanya gukwiragira kw’isi yose+. Yozefu rero atangura kwugurura ibigega vyose vyari mu gihugu no kugurisha ibifungurwa ku Banyamisiri+, kuko inzara yari ikaze cane mu Misiri. 57 Vyongeye, abantu bo kw’isi yose baguma baza mu Misiri kugura ibifungurwa kwa Yozefu, kuko inzara yari ikaze cane kw’isi yose+.
42 Yakobo amaze kumenya ko mu Misiri hariyo ibifungurwa*+, abwira abahungu biwe ati: «Kubera iki muguma ng’aho murabana gusa?» 2 Yongerako ati: «Narumvise ko mu Misiri hariyo ibifungurwa*. Nimugendeyo mutugurire ibifungurwa kugira ntitwicwe n’inzara+.» 3 Benewabo na Yozefu cumi+ baca bamanuka mu Misiri kugura ibifungurwa. 4 Ariko Yakobo ntiyarungika Benyamini+ mwenewabo na Yozefu ngo bajane, kuko yibwira ati: «Yohava ashikirwa n’isanganya agapfa+.»
5 Abahungu ba Isirayeli baca bajana n’abandi bari bagiye kugura ibifungurwa mu Misiri, kuko inzara yari yarashitse no mu gihugu ca Kanani+. 6 Yozefu ni we yatwara igihugu ca Misiri+ kandi ni we yagurisha ibifungurwa ku bantu bose bo kw’isi+. Benewabo rero barashika maze baramwunamira, mu maso hashika hasi+. 7 Yozefu akibabona, ubwo nyene yaciye abamenya ariko ntiyabahishuriye uwo ari we+. Aca arabakarira, ababaza ati: «Muva hehe?» Na bo bamwishura bati: «Tuva mu gihugu ca Kanani+. Twaje ino kugura ibifungurwa.»
8 Nuko Yozefu amenya benewabo, ariko bo ntibamumenya. 9 Ubwo nyene aca yibuka za ndoto yarota ku biberekeye+. Hanyuma ababwira ati: «Muri abasumyi b’urusaku*. Mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya.» 10 Na bo bamwishura bati: «Oya databuja, abasavyi bawe twaje kugura ibifungurwa. 11 Twese dufise data umwe kandi turi abantu b’intungane. Twebwe abasuku bawe ntituri abasumyi b’urusaku.» 12 Mugabo ababwira ati: «Murabesha! Mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya.» 13 Bamwishura bati: «Twebwe abasavyi bawe tuvukana turi 12+. Twese dufise data umwe+ kandi aba mu gihugu ca Kanani. Umuhererezi yasigaranye na data+, uwundi na we ntakiriho+.»
14 Ariko Yozefu ababwira ati: «Ni vyo nyene nababwiye: “Muri abasumyi b’urusaku!” 15 Iki ni co kizonyereka ko muvugisha ukuri: ndabarahiye Farawo, ntimuzova ng’aha umuhererezi wanyu adashitse+! 16 Nimurungike umwe muri mwebwe aje kuzana mwenewanyu, abandi musigare mupfungiwe ng’aha. Ni vyo bizonyereka ko muvugisha ukuri. Atari ukwo, ndabarahiye Farawo, muzoba muri abasumyi b’urusaku.» 17 Aca abashira mw’ibohero, bamarayo imisi itatu.
18 Ku musi ugira gatatu, Yozefu ababwira ati: «Kubera yuko ntinya Imana, nimukore ibi kugira mubandanye kubaho: 19 nimba muvugisha ukuri, umwe muri mwebwe nasigare aboshe ng’aha mw’ibohero. Abandi nimugende, mushire intete imiryango yanyu kugira ntiyicwe n’inzara+. 20 Muzoheza munzanire umuhererezi wanyu kugira mbone ko muvugisha ukuri. Aho gusa ni ho mutazopfa.» Baca bagira gutyo nyene.
21 Maze batangura kubwirana bati: «Emwe, iki ni igihano turonse kubera ivyo twakoreye mwenewacu+. Twarabonye intuntu yari afise igihe yadutakambira ngo tumugirire ikigongwe, ariko ntitwamwumvirije. Ni co gituma dushikiwe n’ibi vyago.» 22 Rubeni aca ababwira ati: «Sinababwiye ngo ntimugirire nabi uwo mwana, ariko mukanka kunyumviriza+? Ubu rero turiko turishuzwa amaraso yiwe+.» 23 Ntibari bazi ko Yozefu atahura ivyo bariko baravuga, kuko hagati yabo hariho umusobanuzi. 24 Yozefu aca aja kure yabo, atangura kurira+. Hanyuma aragaruka, asubira kubavugisha. Araheza atora Simeyoni+ muri bo, amuboha babona+. 25 Hanyuma Yozefu ategeka abasuku biwe ngo buzuze intete amagunira yabo bongere basubize amahera y’umwe wese mw’igunira ryiwe. Ategeka kandi ko babaha ivyo bafungurira ku rugendo. Baca bagira ukwo nyene.
26 Nuko bapakira ibifungurwa vyabo ku ndogobwa zabo maze bafata urugendo. 27 Bashitse aho barara, umwe muri bo yugurura igunira ryiwe kugira agaburire indogobwa, aca asangayo amahera yiwe. 28 Maze abwira benewabo ati: «Bansubije amahera yanje! Ari ng’aha mw’igunira!» Imitima yabo ica iraranduka, barajugumira. Bararabana maze bavugana bati: «Ibi ni ibiki Imana itugiriye?»
29 Bashitse i Kanani kwa se wabo Yakobo, bamwiganira ibintu vyose vyari vyabashikiye. Bamubwira bati: 30 «Umugabo atwara ico gihugu yaradukariye+, atwagiriza ko twagiye gusuma urusaku. 31 Mugabo twamwishuye duti: “Turi abantu b’intungane, ntituri abasumyi b’urusaku+. 32 Tuvukana turi 12+ kandi dufise data umwe. Mwenewacu umwe ntakiriho+, umuhererezi na we yasigaranye na data i Kanani+.” 33 Ariko uwo mugabo atwara ico gihugu yatubwiye ati: “Iki ni co kizonyereka ko muvugisha ukuri: nimusige ng’aha mwenewanyu umwe+, hanyuma mutore ibifungurwa mushira imiryango yanyu irembejwe n’inzara, mugende+. 34 Muzoheza munzanire umuhererezi wanyu kugira menye ko mutari abasumyi b’urusaku, ahubwo ko muri intungane. Nzoca ndabasubiza mwenewanyu kandi muzoshobora kugura ivyo mukeneye muri iki gihugu.”»
35 Hageze ko bacuranura amagunira yabo, basanga mw’igunira ry’umwe wese hariyo amahera yiwe*. Babonye ayo mahera, baca bagira ubwoba bose hamwe na se wabo. 36 Yakobo aca ababwira ati: «Murampekuye+! Yozefu ntakiriho+, na Simeyoni ntakiriho+, none na Benyamini mugira mumutware! Ese ayo mbonye yemwe!» 37 Mugabo Rubeni abwira se wiwe ati: «Nintamukugarukanira, uzoce wica abahungu banje babiri+. Numunshinge, jewe nzomukugarukanira+.» 38 Ariko amwishura ati: «Umuhungu wanje ntimuzojana kuko mwenewabo yapfuye, akaba ari we gusa nsigaranye+. Hamwe yoshikirwa n’isanganya agapfa muri ku rugendo, muzoba mutumye manukana intuntu*+ mu kuzimu+.»
43 Ico gihe inzara yari ikaze cane mu gihugu+. 2 Nuko bahejeje ibifungurwa bari barakuye mu Misiri+, se wabo ababwira ati: «Nimusubireyo mutugurire utundi dufungurwa.» 3 Mugabo Yuda amubwira ati: «Uwo mugabo yaratwihanije ati: “Ntimuze mugaruke imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu+.” 4 Niwamurungika tukajana, tuzogenda tukugurire ibifungurwa. 5 Ariko nutamurungika, ntituzogenda kuko uwo mugabo yatubwiye ati: “Ntimuzogaruke imbere yanje mutari kumwe na mwenewanyu+.”» 6 Isirayeli+ aca ababaza ati: «Kubera iki mwamubwiye ko mufise uwundi mwenewanyu? Aho ntimubona ko mwankwegeye?» 7 Na bo bamwishura bati: «Uwo mugabo yaratubajije ibibazo bitomoye ku bitwerekeye hamwe n’umuryango wacu. Yatubajije ati: “So wanyu aracariho? Hari uwundi mwenewanyu mufise?” Natwe tumubwiza ukuri+. Twari kumenya gute ko aca avuga ngo: “Nimunzanire mwenewanyu+?”»
8 Yuda aca yinginga se wiwe Isirayeli ati: «Mpa uwo muhungu tugende+, kugira twe nawe n’abana bacu+ tubandanye kubaho, ntitwicwe n’inzara+. 9 Jewe ndamwishinze+. Hakagira ico aba uzomumbaze. Nintamugarukana ngo ndamugushikirize, nzoba ngukoreye icaha kitazigera kimvako ibihe vyose. 10 Kandi iyo tutishinga guteba, ubu tuba tumaze kugenda tukongera tukagaruka incuro zibiri.»
11 Isirayeli se wabo aca ababwira ati: «Ko ari uko bimeze, nimugire gutya: nimushire mu magunira ibintu vyizavyiza vyo mu gihugu hanyuma mubigemurire uwo mugabo+: amavuta amota neza*+, ubuki, ibirirarira bimota*, ibishishwa vy’uburembo+, ibiyoba* hamwe n’intete za shakedi. 12 Nimutore amahera angana n’ayo mwatwaye ubwa mbere incuro zibiri, muce musubizayo n’amwe mwasanga mu magunira yanyu+. Hari aho mwosanga barihenze. 13 Hanyuma mutore mwenewanyu mugende, musubire kuri uwo mugabo. 14 Ese Imana Mushoboravyose yotuma abumvira ikigongwe, akabaha mwenewanyu yasigayeyo na Benyamini. Nanje nimba ari ngombwa ko mpekurwa, mpekurwe nta kundi+!»
15 Abahungu ba Isirayeli baca batora vya bintu bagemura, ya mahera hamwe na Benyamini. Baraheza bamanuka mu Misiri, basubira kurenguka imbere ya Yozefu+. 16 Yozefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, aca abwira umugabo yari ajejwe urugo rwiwe ati: «Jana aba bantu muhira, uce ubaga ibitungwa hanyuma utegure ibifungurwa, kuko tuza gusangira sasita.» 17 Nya mugabo aca akora ivyo Yozefu amubwiye+, abajana muhira. 18 Mugabo bagira ubwoba bwinshi kubera yari abajanye kwa Yozefu, batangura kubwirana bati: «Ya mahera twasanga mu magunira yacu ni yo atumye batuzana ng’aha. Ubu rero bagira baducakire, batugire abaja, bace batwara indogobwa zacu+.»
19 Baca begera wa muntu yari ajejwe urugo rwa Yozefu, bavugana na we bari imbere y’umuryango. 20 Bamubwira bati: «Uradutunga databuja! Twaraje ino kugura ibifungurwa+. 21 Mugabo dushitse aho turara tugatangura kwugurura amagunira yacu, twagiye tubona amahera y’umwe wese mw’igunira ryiwe, yose uko yakabaye+. Ubu rero twagira tuyasubize. 22 Twaje tuzanye n’ayandi mahera yo kugura ibifungurwa. Ni ukuri ntituzi uwashize ayo mahera mu magunira yacu+.» 23 Aca abishura ati: «Nta ngorane, ntimugire ubwoba. Imana yanyu ikaba n’Imana ya so, ni yo yashize iryo tunga mu magunira yanyu. Amahera yanyu yari yanshikiriye.» Araheza asohora Simeyoni, aramubazanira+.
24 Uwo mugabo aca abinjiza mu nzu ya Yozefu, abaha amazi kugira boge ibirenge, atanga n’ivyo kurya vy’indogobwa zabo. 25 Nuko bategura bimwe bari bagemuriye+ Yozefu mu kurindira ko ashika sasita, kuko bari bumvise ko baza kurya ng’aho+. 26 Yozefu yinjiye mu nzu, baca bamuzanira vya bintu bari bamugemuriye, maze baramwunamira mu maso hashika hasi+. 27 Hanyuma ababaza amakuru yabo, yongerako ati: «Amakuru ya so wanyu, wa mutama mwambwira? Aracariho+?» 28 Na bo bati: «Dawe umusavyi wawe arakomeye. Aracariho.» Baca barunama, mu maso habo hashika hasi+.
29 Abonye Benyamini mwenewabo*+, aca ababaza ati: «Uwo ni mwenewanyu, wa muhererezi mwambwira+?» Yongerako ati: «Imana iguhezagire mwananje!» 30 Yozefu aca asohoka ningoga, aja kurondera aho aririra, kuko yari arengewe n’ikigumbagumba afitiye mwenewabo. Nuko yinjira mu kindi cumba, araturikisha ararira+. 31 Araheza yiyoga mu maso. Hanyuma amaze gutekana, aca arasohoka avuga ati: «Nimuzane ibifungurwa.» 32 Baca bamuzanira ibifungurwa ukwiwe, na benewabo ukwabo. Abanyamisiri bari kumwe na we na bo nyene bafungura ukwabo. Abanyamisiri ntibashobora gusangira n’Abaheburayo, kuko cari ikintu gishisha kuri bo+.
33 Benewabo bari bicaye imbere yiwe uko bakurikirana, uhereye ku mfura+ ugashika ku muhererezi. Baguma barabana bumiwe. 34 Aguma abarungikira ibifungurwa vyari ku meza yiwe, mugabo akagwiza incuro zitanu ivyo arungikiye Benyamini ugereranije n’ivyo aha abandi+. Babandanya gusangira na we, bararya bongera baranywa gushika bahaze.
44 Mu nyuma, Yozefu ategeka uwari ajejwe urugo rwiwe ati: «Uzuza ibifungurwa amagunira y’abo bagabo, ushiremwo ivyo bashobora gutwara vyose kandi ushire amahera y’umwe wese mw’igunira ryiwe+. 2 Uce ushira ca gikombe canje c’ifeza mw’igunira ry’umuhererezi hamwe n’amahera y’intete ziwe.» Aca akora ivyo Yozefu amutegetse.
3 Bukeye mu gitondo, barungika ba bagabo hamwe n’indogobwa zabo. 4 Batarashika kure y’igisagara, Yozefu aca abwira wa muntu yari ajejwe urugo rwiwe ati: «Nyaruka ubakurikire! Niwabashikira, ubabwire uti: “Kubera iki iciza mwacishuye ikibi? 5 Kubera iki mwivye igikombe databuja anyweramwo kandi akoresha kugira amenye ibizoba? Mwagize nabi cane.”»
6 Nuko arabashikira, ababwira ayo majambo. 7 Na bo bamwishura bati: «Databuja*, kubera iki utubwiye amajambo nk’ayo? Ntitwokwubahuka gukora ikintu nk’ico. 8 Urazi ko n’amahera twasanze mu magunira yacu twayakugarukaniye tuvuye i Kanani+. None wumva twokwiba ifeza canke inzahabu mu nzu ya shobuja? 9 Databuja, uwo bagisangana muri twebwe ace yicwa, abasigaye duce tuba abashumba bawe.» 10 Na we avuga ati: «Nibibe nk’uko mubivuze. Uwo bagisangana aca aba umushumba wanje, ariko abasigaye bazoba ari intungane.» 11 Umwe wese aca yururutsa ningoga igunira ryiwe, araripfundurura. 12 Maze atangura gusaka yitonze, ahereye ku mukuru gushika ku muhererezi. Hanyuma asanga ca gikombe mw’igunira rya Benyamini+.
13 Baca bitaburirako impuzu zabo, umwe wese asubiza umuzigo wiwe ku ndogobwa yiwe maze basubira mu gisagara. 14 Nuko Yuda+ na benewabo binjira mu nzu ya Yozefu, basanga ni ho akiri. Baca barunama imbere yiwe, mu maso habo hashika hasi+. 15 Yozefu ababwira ati: «Ivyo mwakoze ni ibiki? Ntimwari muzi ko umuntu nkanje ashobora kumenya ibizoba atihenda+?» 16 Yuda amwishura ati: «Mbega tukubwire iki ga databuja? Tuvuge iki ga yemwe? Twerekane gute ko turi intungane? Imana y’ukuri yabonye ikosa ryacu+. Ubu rero turi abashumba bawe, twe n’uwo bafatanye ico gikombe.» 17 Ariko Yozefu avuga ati: «Sinokwubahuka gukora ikintu nk’ico! Uwo bafatanye ico gikombe ni we aba umushumba wanje+. Abasigaye nimwigire amahoro kwa so wanyu.»
18 Yuda aca aramwegera, amubwira ati: «Ndagutakambiye databuja, ndagusavye undeke jewe umushumba wawe ngire ijambo nkubwiye, kandi ntushavurire umushumba wawe kuko wewe uri nka Farawo+. 19 Twebwe abashumba bawe waratubajije uti: “Murafise so canke uwundi mwenewanyu?” 20 Natwe twakwishuye duti: “Turafise data w’umutama hamwe n’umuhungu w’umuhererezi+ yavyaye mu busaza bwiwe. Uwo muhererezi yari afise mwenewabo, ariko uwo mwenewabo yarapfuye+. Ni we wenyene asigaye mu bo basangiye nyina+, kandi se wiwe aramukunda cane.” 21 Waciye utubwira uti: “Muramunzanire ndamubone+.” 22 Ariko twaciye tukwishura duti: “Uwo muhungu ntashobora gutandukana na se. Hamwe botandukana, se wiwe yoca apfa ata kabuza+.” 23 Mugabo waciye utubwira uti: “Ntimuzogaruke imbere yanje mutazananye n’umuhererezi wanyu+.”
24 Natwe twarasubiye kwa dawe umushumba wawe, turamubwira ivyo watubariye. 25 Mu nyuma dawe yatubwiye ati: “Subirayo mutugurire utundi dufungurwa+.” 26 Twamwishuye duti: “Ntidushobora gusubirayo. Ntitugenda tutajanye n’umuhererezi wacu, kuko tudashobora gusubira imbere y’uwo mugabo tutari kumwe na we+.” 27 Dawe umushumba wawe yaciye atubwira ati: “Murazi ko umugore wanje yamvyariye uduhungu tubiri gusa+. 28 Umwe muri bo yaratakaye, nanje nibwira nti: ‘Uko biri kwose igikoko co mw’ishamba caramutabaguye+!’ Kandi sindasubira kumukubita ijisho. 29 Hamwe n’uyu mwomutwara kure yanje hanyuma agashikirwa n’isanganya agapfa, mwoba mutumye manukana umubabaro*+ mu kuzimu+.”
30 Hamwe nosubira kwa dawe umushumba wawe ntari kumwe n’uwo muhungu n’ukuntu amukunda cane, 31 niyapfa kubona ko tutari kumwe azoca apfa, kandi tuzoba dutumye amanukana intuntu mu kuzimu. 32 Jewe umusavyi wawe naramwishinze imbere ya dawe, ndamubwira nti: “Nintamukugarukanira, nzoba ngukoreye icaha kitazomvako ubuzima bwanje bwose+.” 33 Ndakwinginze rero jewe nsigare mu kibanza c’uyu muhungu, mbe umushumba wawe, kugira asubirane inyuma na benewabo. 34 Mbega noshobora gute gusubira kwa dawe ntari kumwe na we? Sinokwihanganira kubona ivyago vyoshikira dawe.»
45 Maze Yozefu ntiyaba agishobora kwigumya imbere y’abasuku biwe bose+. Aca abategeka ati: «Nimusohoke mwese!» Nta n’umwe yari kumwe na we igihe yimenyesha benewabo+.
2 Aca araturikisha ararira, gushika n’aho Abanyamisiri hamwe n’abo mu rugo kwa Farawo bavyumva. 3 Amaherezo, Yozefu abwira benewabo ati: «Ndi Yozefu. Mbega dawe aracariho?» Ariko benewabo ntibashobora kumwishura kuko bari bumiwe. 4 Yozefu ababwira ati: «Nimunyegere.» Na bo baramwegera.
Abandanya ati: «Ndi Yozefu mwenewanyu, umwe mwagurisha mu Misiri+. 5 Ariko ntimubabare kandi ntimutaneko ishavu ngo ni uko mwangurishije, kuko Imana ari yo yandungitse ino imbere yanyu kugira irokore ubuzima+. 6 Uyu ni umwaka ugira kabiri w’inzara mu gihugu+, kandi haracasigaye imyaka itanu aho ata wuzorima canke ngo yimbure. 7 Imana yandungitse imbere yanyu kugira ibarokore mu buryo butangaje, ntimuzimangane kw’isi*+. 8 Si mwebwe rero mwandungitse ino, ahubwo ni Imana y’ukuri. Ni yo yangize umuhanuzi mukuru* wa Farawo, impa kugaba urugo rwiwe rwose yongera ingira umutware w’igihugu cose ca Misiri+.
9 Nimusubire ningoga kwa dawe, mumubwire muti: “Ibi ni vyo umuhungu wawe Yozefu avuze: ‘Imana yarampaye kugaba Misiri yose+. Nyaruka uze iyo ndi, ntutebe+. 10 Uzoba hafi yanje mu ntara ya Gosheni+, wewe n’abana bawe, abuzukuru bawe, ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyose ufise. 11 Nzokuronsa ibifungurwa uri ng’aho, kuko hagisigaye imyaka itanu y’inzara+. Ahandiho wewe n’urugo rwawe muzoja mu bukene, kandi ibintu vyawe vyose bizoyogera.’” 12 Mwebwe na mwenewacu Benyamini muribonera neza ko ari jewe ndiko mvugana namwe+. 13 Muze mubwire dawe icubahiro* cose mfise mu Misiri n’ibintu vyose mwiboneye. Nimunyaruke rero mumuzane ino.»
14 Yozefu aca agumbira Benyamini maze araturikisha ararira, Benyamini na we nyene amuririra mu maboko+. 15 Araheza asoma benewabo bose ariko ararira, na bo babona kumuvugisha.
16 Inkuru y’uko benewabo na Yozefu baje imenyekana mu rugo kwa Farawo, bituma Farawo n’abasuku biwe bahimbarwa. 17 Farawo aca abwira Yozefu ati: «Bwira benewanyu uti: “Pakira imizigo ku bitungwa vyanyu muje mu gihugu ca Kanani, 18 muheze mutore so wanyu n’imiryango yanyu hanyuma muze ino. Nzobaha ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri, kandi muzorya* ibintu vy’ahantu himbuka* kuruta ahandi hose mu gihugu+.” 19 Ubabwire kandi uti+: “Nimutore imikogote+ yo mu Misiri muzozanako abana banyu n’abagore banyu. So wanyu muzomwuriza kuri umwe muri iyo mikogote muheze mumuzane ng’aha+. 20 Ivyo mutunze+ ntibibahagarike umutima, kuko ivyiza vyo mu gihugu cose ca Misiri ari rwanyu.”»
21 Bene Isirayeli baca bagira gutyo nyene. Yozefu abaha imikogote nk’uko Farawo yategetse, abatekerera n’ibifungurwa barira ku nzira. 22 Umwe wese amuha impuzu yo gukuranya, ariko Benyamini amuha ifeza* 300 n’impuzu zitanu zo gukuranya+. 23 Se wiwe na we amurungikira ibi: indogobwa cumi zitwaye ibintu vyizavyiza vyo mu Misiri n’indogobwa cumi zivyara zitwaye intete, umukate n’ibindi bifungurwa azofungurira ku rugendo. 24 Araheza arungika benewabo. Ariko bahagurutse, ababwira ati: «Ntimuze gutanako ishavu mu nzira+.»
25 Nuko bava mu Misiri, barateba bashika i Kanani kwa se wabo Yakobo. 26 Maze bamubwira bati: «Yozefu aracariho, kandi ni we atwara igihugu cose ca Misiri+!» Ariko Yakobo aca amera nk’igiti*, kuko atemera ivyo bamubwiye+. 27 Babandanije kumubwira ivyo Yozefu yari yababwiye vyose, akabona n’imikogote Yozefu yari yarungitse ngo imutware, aca atangura gutora akenge*. 28 Isirayeli aca avuga ati: «Shaka mwigereze aho. Yozefu umuhungu wanje aracariho! Reka nje kumuraba ntarapfa+.»
46 Nuko Isirayeli afata ivyo yari afise vyose* aragenda. Ashitse i Beri-Sheba+, aca ashikanira ibimazi Imana ya se wiwe Izahaki+. 2 Mw’ijoro Imana ibonekera Isirayeli, iramuhamagara iti: «Yakobo, Yakobo!» Na we ati: «Sabwe!» 3 Imubwira iti: «Ndi Imana y’ukuri, Imana ya so wawe+. Ntutinye kumanuka mu Misiri kuko ari ho nzoguhindurira ihanga rikomeye+. 4 Jewe ubwanje nzojana nawe mu Misiri, kandi ni jewe nyene nzogukurayo+. Vyongeye, Yozefu azohwamika amaso yawe niwapfa+.»
5 Inyuma y’ivyo, Yakobo afata urugendo ava i Beri-Sheba. Abahungu ba Isirayeli batwara Yakobo se wabo, abana babo n’abagore babo mu mikogote Farawo yari yarungitse. 6 Bagenda bajanye ibitungwa vyabo n’ibintu bari bararonkeye mu gihugu ca Kanani. Yakobo n’uruvyaro rwiwe rwose barateba bashika mu Misiri. 7 Ashika mu Misiri ari kumwe n’abahungu biwe, abakobwa biwe n’abuzukuru biwe, emwe uruvyaro rwiwe rwose.
8 Aya rero ni yo mazina y’abahungu ba Isirayeli, abahungu ba Yakobo binjiye mu Misiri+: imfura ya Yakobo yari Rubeni+.
9 Abahungu ba Rubeni bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+.
10 Abahungu ba Simeyoni+ bari Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Shawuli+, uwo yavyaye ku Munyakananikazi.
11 Abahungu ba Lewi+ bari Gerushoni, Kohati na Merari+.
12 Abahungu ba Yuda+ bari Ere, Onani, Shela+, Peresi+ na Zera+. Ariko Ere na Onani bapfiriye i Kanani+.
Abahungu ba Peresi na bo bari Hesironi na Hamuli+.
13 Abahungu ba Isakari bari Tola, Puva, Iyobu na Shimuroni+.
14 Abahungu ba Zabuloni+ bari Seredi, Eloni na Yakileli+.
15 Abo ni bo bahungu* ba Leya, abo yavyaranye na Yakobo bakiri i Padani-Aramu, hamwe n’umukobwa wiwe Dina+. Abakomotse kuri Yakobo biciye kuri Leya bose hamwe bari 33.
16 Abahungu ba Gadi+ bari Zifiyoni, Hagi, Shuni, Esiboni, Eri, Arodi na Areli+.
17 Abahungu ba Asheri+ bari Imuna, Ishiva, Ishivi na Beriya. Mushiki wabo yitwa Sera.
Abahungu ba Beriya na bo bari Heberi na Malikiyeli+.
18 Abo ni bo bahungu bakomotse kuri Zilupa+, uwo Labani yahaye umukobwa wiwe Leya. Abakomotse kuri Zilupa na Yakobo bose hamwe bari 16.
19 Abahungu ba Rasheli umugore wa Yakobo bari Yozefu+ na Benyamini+.
20 Abahungu Yozefu yavyariye mu Misiri bari Manase+ na Efurayimu+. Yabavyaranye na Asenati+ umukobwa wa Potifera, umuherezi w’i Oni*.
21 Abahungu ba Benyamini+ bari Bela, Bekeri, Ashibeli, Gera+, Namani, Ehi, Roshi, Mupimu, Hupimu+ na Arudi+.
22 Abo ni bo bahungu bakomotse kuri Rasheli na Yakobo. Bose hamwe bari 14.
23 Umuhungu* wa Dani+ yari Hushimu+.
24 Abahungu ba Nafutali+ bari Yakiseli, Guni, Yezeri na Shilemu+.
25 Abo ni bo bahungu bakomotse kuri Biluha, uwo Labani yahaye umukobwa wiwe Rasheli. Abakomotse kuri Biluha na Yakobo bose hamwe bari indwi.
26 Abantu bose bakomoka kuri Yakobo bajanye na we mu Misiri bari 66, hatarimwo abagore b’abahungu biwe+. 27 Abahungu Yozefu yavyariye mu Misiri bari babiri. Abantu bose bo mu rugo rwa Yakobo binjiye mu Misiri bari 70+.
28 Yakobo araheza arungika Yuda+ ngo aje kumenyesha Yozefu ko yari mu gushika i Gosheni. Bashitse mu ntara ya Gosheni+, 29 Yozefu aca ategeka abasuku biwe ngo bamutegurire umukogote kugira aje i Gosheni gusanganira se wiwe Isirayeli. Amushikiriye, aca aramugumbira, amara umwanya munini ariko ararira. 30 Maze Isirayeli abwira Yozefu ati: «Ko ndakubonye nkamenya ko ukiri muzima, ninshake nipfire.»
31 Yozefu aca abwira benewabo n’abo mu rugo kwa se wiwe ati: «Reka nje kwa Farawo+ ndamubwire nti: “Benewacu n’abo mu rugo kwa dawe bashitse ino bavuye i Kanani+. 32 Ni abungere+ bakaba n’aborozi+, kandi baje bazanye ibitungwa vyabo vyose n’ivyo bafise vyose+.” 33 Farawo niyabahamagara akababaza ico mukora, 34 muze kumwishura muti: “Abasavyi bawe twamye turi aborozi kuva tukiri bato, twe na ba sokuruza bacu+.” Muze kuvuga gutyo kugira abemerere kuba mu ntara ya Gosheni+, kuko abungere b’intama ari ikintu gishisha ku Banyamisiri+.»
47 Yozefu aca aragenda, abwira Farawo+ ati: «Dawe na benewacu n’ibitungwa vyabo vyose hamwe n’ivyo bafise vyose, bashitse bavuye mu gihugu ca Kanani. Bari mu ntara ya Gosheni+.» 2 Hanyuma atora batanu muri benewabo, abajana kwa Farawo+.
3 Farawo abaza benewabo na Yozefu ati: «Mukora iki?» Bamwishura bati: «Abasavyi bawe turi abungere b’intama, twe na ba sokuruza bacu+.» 4 Bongerako bati: «Twaje kuba ino+ nk’abanyamahanga kuko mu gihugu ca Kanani hari inzara ikomeye+, akaba ata buragiro bw’ibitungwa vyacu buriyo. Turagusavye rero utureke twebwe abasavyi bawe tube mu ntara ya Gosheni+.» 5 Farawo aca abwira Yozefu ati: «So wawe na benewanyu baje ino kubera wewe. 6 Igihugu ca Misiri kiri mu maboko yawe. Nurabire so wawe na benewanyu ahantu heza cane mu gihugu babeyo+. Bareke babe mu ntara ya Gosheni, kandi nimba uzi ko muri bo harimwo abagabo babishoboye, nubazeze kwitwararika ibitungwa vyanje.»
7 Yozefu aca ajana Yakobo se wiwe kumwereka Farawo, hanyuma Yakobo ahezagira Farawo. 8 Farawo abaza Yakobo ati: «Ufise imyaka ingahe?» 9 Amwishura ati: «Mfise imyaka 130, kandi ndayimaze nza ndimuka mva aha nja hariya*. Iyo myaka ni mikeyi kandi yabayemwo ingorane nyinshi+. Nta ho ihuriye n’iyo ba sokuruza bamaze+, kandi na bo nyene babayeho baza barimuka.» 10 Inyuma y’ivyo, Yakobo ahezagira Farawo maze arasohoka.
11 Nuko Yozefu aha se wiwe na benewabo aho baba, abaha ahantu bigabira heza kuruta ahandi mu gihugu ca Misiri. Abaha intara ya Ramesesi+ nk’uko Farawo yari yamutegetse. 12 Yozefu aguma aronsa ibifungurwa* se wiwe na benewabo hamwe n’abo mu rugo rwa se bose, yisunze igitigiri c’abana bafise.
13 Nta bifungurwa vyari bigisigaye mu gihugu cose, kuko inzara yari ikaze cane. Nuko igihugu ca Misiri n’ica Kanani birasinzikara kubera iyo nzara+. 14 Yozefu aguma yegeranya amahera yose yo mu Misiri no mu gihugu ca Kanani, ni ukuvuga amahera abantu bazana baje kugura ibifungurwa+. Aguma ayashira mu kigega ca Farawo. 15 Amaherezo, amahera yo mu Misiri no mu gihugu ca Kanani yose arahera. Abanyamisiri bose batangura kuza kwa Yozefu, bamubwira bati: «Duhe ivyo kurya! Ureke dupfire imbere yawe ngo ni uko ata mahera dusigaranye?» 16 Yozefu abishura ati: «Ko ata mahera musigaranye, nimuzane ibitungwa vyanyu nanje ndabahe ivyo kurya.» 17 Baca batangura kuzanira Yozefu ibitungwa vyabo. Yozefu aguma abaha ivyo kurya babikavye amafarasi yabo, intama zabo, impene zabo, inka zabo n’indogobwa zabo. Amara uwo mwaka wose abaha ivyo kurya babikavye ibitungwa vyabo.
18 Hanyuma uwo mwaka urahera. Mu mwaka ukurikira, baca bagaruka kwa Yozefu bamubwira bati: «Databuja, ntitwoguhisha ko amahera yacu n’ibitungwa vyacu vyose vyahereye iwawe. Nta kindi dufise twoguha atari imibiri yacu n’amatongo yacu. 19 Kubera iki woreka tugapfira imbere yawe, n’amatongo yacu agasigara ari amashamba? Nuduhe ibifungurwa, ube utuguze twe n’amatongo yacu. Tuzoca tuba abashumba ba Farawo, amatongo yacu na yo amwegukire. Duhe imbuto kugira ntidupfe, n’amatongo yacu ntacike amashamba.» 20 Yozefu aca agurira Farawo amatongo yose y’Abanyamisiri. Nuko Abanyamisiri bose bagurisha amatongo yabo, kuko inzara yari ikomeye cane mu gihugu. Igihugu cose gica cegukira Farawo.
21 Araheza yimurira mu bisagara abantu bose bo mu gihugu ca Misiri+. 22 Amatongo y’abaherezi yonyene ni yo ataguze+, kuko bari batunzwe n’ibifungurwa biva kwa Farawo. Ni co gituma abaherezi batagurishije amatongo yabo. 23 Yozefu aca abwira abantu ati: «Uyu musi ndabaguze mwe n’amatongo yanyu kugira mwegukire Farawo. Nimwakire imbuto rero muje guteragira. 24 Nimwimbura, muzoha Farawo ica gatanu c’ivyo mwimbuye+. Ibice bine bisigaye bizoba rwanyu kugira mubikuremwo imbuto n’ivyo murya, mwe n’abo mu ngo zanyu n’abana banyu.» 25 Bamwishura bati: «Uradutabaye+ databuja. Nutugirire ubuntu, utwemerere kuba abashumba ba Farawo+.» 26 Yozefu aca ashinga itegeko ry’uko ica gatanu c’ivyo bimbuye cegukira Farawo, kandi riracakurikizwa gushika n’uyu musi mu gihugu ca Misiri. Amatongo y’abaherezi yonyene ni yo ategukiye Farawo+.
27 Isirayeli n’urugo rwiwe babandanya kuba mu Misiri, mu ntara ya Gosheni+. Nuko babayo, bararondoka bongera baragwira cane+. 28 Yakobo yabaye mu Misiri imyaka 17. Imyaka yose yamaze yabaye 147+.
29 Isirayeli yumvise ko ari mu gupfa+, ahamagara umuhungu wiwe Yozefu amubwira ati: «Nimba ushaka kuntera iteka, shira ukuboko kwawe munsi y’itako ryanje, unyemerere ko uzongirira ubuntu* be n’uko utazompemukira: ndagusavye ntuze umpambe mu Misiri+. 30 Ninapfa, uzonkure mu Misiri umpambe mu mva ya ba sokuruza banje+.» Yozefu amwishura ati: «Nzobigira nk’uko ubivuze.» 31 Isirayeli aca amubwira ati: «Ndahira.» Yozefu aramurahira+. Isirayeli aca yunamira Imana ari ku mutwe w’igitanda ciwe+.
48 Inyuma y’ivyo, babwira Yozefu bati: «So wawe araremvye.» Yozefu aca aja kumuraba, agenda ajanye n’abahungu biwe babiri, Manase na Efurayimu+. 2 Maze bamenyesha Yakobo bati: «Umuhungu wawe Yozefu araje kukuraba.» Isirayeli aca arinanata, yicara ku gitanda. 3 Hanyuma abwira Yozefu ati:
«Imana Mushoboravyose yarambonekeye i Luzi mu gihugu ca Kanani, irampezagira+. 4 Yambwiye iti: “Nzotuma urondoka, ndakugwize kandi nzotuma uvamwo ishengero ry’amahanga menshi+. Iki gihugu nzogiha abazogukomokako*, bacigabire ibihe vyose+.” 5 Ubu rero, abahungu bawe babiri wavyariye mu Misiri imbere y’uko nza ni abanje+. Efurayimu na Manase bazoba abanje nka Rubeni na Simeyoni+. 6 Ariko abo uzovyara mu nyuma bazoba rwawe. Nihagera gutorana, bazohamagarwa ku mazina ya Efurayimu na Manase, kandi bazohabwa ku migabane yabo+. 7 Igihe nariko mva i Padani, Rasheli yarampfiriyeko+ tugeze i Kanani, hagisigaye urugendo rutari ruto ngo dushike i Efurata+. Naciye ndamuhamba ku nzira ija i Efurata, ari ho Betelehemu+.»
8 Isirayeli abonye abahungu ba Yozefu, aca amubaza ati: «Abo ni bande?» 9 Yozefu yishura se wiwe ati: «Ni abahungu Imana yampereye muri iki gihugu+.» Aca amubwira ati: «Bigize hafi yanje kugira ndabahezagire+.» 10 Amaso ya Isirayeli yariko arahuma kubera ubusaza, ntiyari akibona neza. Yozefu aca arabamwegereza, maze Isirayeli arabasoma yongera arabagumbira. 11 Maze abwira Yozefu ati: «Sinari nizigiye gusubira kukubona+, ariko raba Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.» 12 Nuko Yozefu abakura iruhande ya se, aca arunama mu maso hashika hasi.
13 Yozefu araheza afata abo bahungu biwe babiri, Efurayimu+ amushira iburyo ku buryo aherera ibubamfu bwa Isirayeli, Manase+ na we ibubamfu ku buryo aherera iburyo bwa Isirayeli, maze arabamwegereza. 14 Ariko Isirayeli ashira ukuryo kwiwe ku mutwe wa Efurayimu naho ari we yari mutoyi, ukubamfu na kwo agushira ku mutwe wa Manase. Ivyo yabigize n’ibigirankana kuko yari asanzwe azi ko Manase ari we ari imfura+. 15 Atangura guhezagira Yozefu, avuga ati+:
«Mana y’ukuri sokuru Aburahamu na dawe Izahaki bagendeye imbere+,
Mana y’ukuri wamye undagira mu buzima bwanje gushika n’uyu musi+,
16 we wankijije ivyago vyose ukoresheje umumarayika+, hezagira aba bahungu+.
Nibitirirwe izina ryanje n’irya sokuru Aburahamu n’irya dawe Izahaki,
nibagwire bongerekane cane mw’isi+.»
17 Yozefu abonye ko se agumije ukuryo ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza. Aca agerageza gukura ukuboko kwa se ku mutwe wa Efurayimu ngo agushire ku mutwe wa Manase. 18 Abwira se wiwe ati: «Oya si uko da, erega uyu ni we mfura+. Shira ukuryo kwawe ku mutwe wiwe.» 19 Ariko se wiwe aranka, amubwira ati: «Ndabizi mwananje, ndabizi. Na we nyene azovamwo ihanga kandi azoba agakomeye. Ariko mutoyi wiwe azoba agakomeye kumurusha+, kandi uruvyaro rwiwe ruzogwira cane ku buryo ruvamwo amahanga+.» 20 Kuri uwo musi, abandanya kubahezagira+ ati:
«Abisirayeli nibakoreshe izina ryawe mu kwipfurizanya umuhezagiro, bavuge bati:
“Imana iraguhezagira nka Efurayimu na Manase.”»
Aguma ashira Efurayimu imbere ya Manase.
21 Hanyuma Isirayeli abwira Yozefu ati: «Ehe ndi mu gupfa+, ariko Imana izogumana namwe, kandi izobasubiza mu gihugu ca ba sokuruza banyu+. 22 Ndakugabiye itongo* nanyaze Abamori nkoresheje inkota yanje n’umuheto wanje, kugira ribe itongo urusha benewanyu.»
49 Mu nyuma Yakobo ahamagara abahungu biwe, ababwira ati: «Nimukoranire hamwe ndababwire ibizobashikira muri kazoza*. 2 Egerane mwumvirize yemwe bahungu ba Yakobo, nimwumvirize so wanyu Isirayeli.
3 Rubeni+, uri imfura yanje+, inkomezi zanje n’intango y’ubushobozi bwanje bwo kurondoka. Iteka ryawe n’inguvu zawe vyari agahebuza. 4 Ariko kubera utigumya nk’amazi y’isegenya, ntuzoba agahebuza kuko wuriye igitanda ca so+. Ico gihe wahumanije igitanda canje. Emwe, yaracuriye!
5 Simeyoni na Lewi baravukana+. Ibirwanisho vyabo babikoresha ububisha*+. 6 Ese umutima wanje utokwifatanya n’akagwi kabo! Ese umuzirikanyi wanje* utokwigera uja mw’ikoraniro ryabo, kuko ishavu ryabo ryatumye bica abantu+, bakavunagura amaguru* y’impfizi z’abandi kugira bimare ishavu gusa. 7 Ishavu ryabo rirakavumwa, kuko ryatumye bakora ivy’ububisha, n’uburake bwabo burakavumwa, kuko bwatumye bakora ibintu ata kigongwe+. Reka ndabashwiragize muri Yakobo, ndabasanzaze muri Isirayeli+.
8 Nawe ga Yuda+, benewanyu bazoguhaya+. Ukuboko kwawe kuzofata abansi bawe kw’izosi+. Abahungu ba so bazokwunamira+. 9 Yuda ni icana c’intambwe+. Uzohaguruka wigire mwananje, uhejeje kurya ico wafashe. Warabunze wongera urigorora nk’intambwe. Ni nde yokwubahuka kuvyura intambwe? 10 Agakoni k’ubwami ntikazova kwa Yuda+, kandi n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo* aje+. Amahanga yose azomugamburukira+. 11 Azozirika indogobwa yiwe ku giti c’umuzabibu, azirike inyana y’indogobwa yiwe ku muzabibu mwiza cane. Azomesa impuzu ziwe mu muvinyu, amesure ivyambarwa vyiwe mu mutobe w’umuzabibu. 12 Amaso yiwe aratukuye kubera umuvinyu, amenyo yiwe na yo arera kubera amata.
13 Zabuloni+ azoba hafi y’inkengera y’ikiyaga, hafi y’inkengera amato* ashikirako+. Urubibe rwiwe ruzogenda rwerekeza i Sidoni+.
14 Isakari+ ni indogobwa y’amagufa akomeye, iryamye hagati y’imizigo ibiri yikoreye. 15 Azobona ko ahantu aruhukira ari heza be n’uko igihugu giteye igomwe. Azotega ibitugu kugira yiremeke imizigo, kandi azokwemera gukora ibikorwa vy’agahato.
16 Dani+ azocira imanza abantu biwe nk’umwe mu miryango y’Abisirayeli+. 17 Dani nabe nk’inzoka iruhande y’ibarabara, inzoka y’amahembe iruhande y’inzira, ikomora ifarasi ku binono ku buryo uwuyigenderako agwa agaramye+. 18 Ewe Yehova, nzorindira ko undokora!
19 Gadi+ na we azoterwa n’umugwi w’abasuma, ariko na we azobatera abaturutse inyuma+.
20 Kwa Asheri+ hazoba ibifungurwa* vyinshi, kandi azokwimbura ibifungurwa bibereye abami+.
21 Nafutali+ ni impongokazi inonotse. Avuga amajambo aryoheye ugutwi+.
22 Yozefu+ ni igiti cama cane, igiti kiri iruhande y’isoko ry’amazi, gifise amashami asagaraye agasumba uruhome. 23 Abarasisha umuheto bagumye bamutoteza, baramurasa kandi bagumye bamufitiye inzigo+. 24 Mugabo yagumye afashe umuheto wiwe+, amaboko yiwe aguma akomeye kandi abangutse+. Yabishobojwe n’amaboko ya wa munyabubasha wa Yakobo, wa mwungere, rya buye rya Isirayeli. 25 Akomoka* ku Mana ya se wiwe, kandi izomufasha. Ari kumwe n’Imana Mushoboravyose, kandi izomuha imihezagiro imanuka iva mw’ijuru n’iyiduga iva mu kuzimu+, hamwe n’imihezagiro y’amabere n’iy’inda. 26 Imihezagiro ya so wawe izoruta ibintu vyizavyiza vyo mu misozi yamaho, irute ibintu vyo kwipfuzwa vyo mu mitumba ihoraho+. Izoguma ku mutwe wa Yozefu, hejuru ku mutwe* w’uwatowe muri benewabo+.
27 Benyamini+ azoguma atabagura ivyo yafashe nk’ibingira+. Mu gitondo azorya igikoko yafashe, ku mugoroba na ho agabure ivyo yasahuye abansi biwe+.»
28 Abo ni bo bagize imiryango 12 ya Isirayeli, kandi ivyo ni vyo se yababwiye ariko arabahezagira. Umwe wese yamuhaye umuhezagiro bakwiranye+.
29 Inyuma y’ivyo abategeka ati: «Ehe ngira mpamvye ab’iwacu*+. Muze mumpambe hamwe na ba dawe, mw’isenga ry’ibuye riri mw’itongo rya Efuroni Umuheti+. 30 Ni isenga riri mw’itongo ry’i Makipela, imbere y’i Mamure mu gihugu ca Kanani, rya tongo Aburahamu yagura na Efuroni Umuheti kugira aronke itongo ryo guhambamwo. 31 Aho ni ho bahamvye Aburahamu na Sara umugore wiwe+. Ni ho bahamvye Izahaki+ na Rebeka umugore wiwe, kandi ni ho nahamvye Leya. 32 Iryo tongo n’isenga ry’ibuye ririmwo yabiguze n’abahungu ba Heti+.»
33 Yakobo arangije guha amategeko abahungu biwe, aca asubiza amaguru yiwe ku gitanda, araheza aracikana maze ahamvya ab’iwabo*+.
50 Yozefu aca yubama kuri se wiwe+, aguma amuririrako yongera amusomagura. 2 Hanyuma ategeka abasuku biwe b’abaganga ngo basige se wiwe ibimubuza kubora+. Abo baganga baca basiga Isirayeli ibimubuza kubora. 3 Bamara imisi 40 bamusiga, kuko ari co kiringo bamara basiga ibiziga. Abanyamisiri bamara imisi 70 bamuririra.
4 Imisi y’ikigandaro iheze, Yozefu abwira abo ku kirimba* kwa Farawo ati: «Nimba munkundiye, ndabinginze mumbwirire Farawo muti: 5 “Dawe yarandahije+, ambwira ati: ‘Ehe ngira mpfe+. Uzompambe mu mva niyimbishirije+ mu gihugu ca Kanani+.’ Ndagusavye rero undeke nje guhamba Dawe, nzoca ngaruka.”» 6 Farawo amwishura ati: «Genda uhambe so wawe nk’uko yabikurahije+.»
7 Yozefu aca aja guhamba se wiwe, ajana n’abasuku ba Farawo bose, abashingantahe+ bo ku kirimba n’abashingantahe bose bo mu Misiri. 8 Ajana kandi n’abo mu rugo rwiwe bose na benewabo hamwe n’abo mu rugo rwa se+. Abana babo batoyi n’ibitungwa vyabo ni vyo vyonyene vyasigaye mu ntara ya Gosheni. 9 Yari kumwe kandi n’imikogote+ hamwe n’abagendera ku mafarasi. Wari umugwi w’abantu benshi cane. 10 Bashitse ku mbuga y’i Atadi mu ntara ya Yorodani, bahagirira ikigandaro gikomeye hariko n’amarira menshi cane. Yozefu amara imisi indwi agandariye se wiwe. 11 Abanyagihugu baho ari bo Banyakanani, babonye ico kigandaro ku mbuga y’i Atadi, baratangara maze bavuga bati: «Iki ni ikigandaro gikomeye ku Banyamisiri!» Ni co catumye aho hantu bahita Abeli-Misirayimu*. Hari mu ntara ya Yorodani.
12 Abahungu ba Yakobo bamugirira nk’uko nyene yari yabategetse+. 13 Bamujana i Kanani, bamuhamba mw’isenga ry’ibuye riri mw’itongo ry’i Makipela, aharabana n’i Mamure. Iryo tongo Aburahamu yari yariguze na Efuroni Umuheti kugira aronke itongo ryo guhambamwo+. 14 Yozefu ahejeje guhamba se wiwe, aca asubira mu Misiri ari kumwe na benewabo n’abandi bose bari bamuherekeje.
15 Benewabo na Yozefu babonye ko se wabo apfuye, bavugana bati: «Hari aho wosanga Yozefu adufitiye inzigo, akazohava atwishura ikibi cose twamukoreye+.» 16 Nuko batuma intumwa kuri Yozefu bati: «Imbere y’uko so wawe apfa, yadutegetse ati: 17 “Muze mubwire Yozefu muti: ‘Ndagusavye uharire ikosa rya benewanyu n’igicumuro bakoze mu kugukorera ikibi kingana gutyo.’” Turagusavye rero utubabarire ikosa ryacu, twebwe abasavyi b’Imana ya so wawe.» Yozefu yumvise ayo majambo, aca araturikisha ararira. 18 Benewabo baca baraza, bapfukama imbere yiwe maze bavuga bati: «Ehe turi abashumba bawe+!» 19 Yozefu abishura ati: «Ntimutinye. Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana? 20 Naho mwari mwiyumviriye kunkorera ikibi+, Imana yagihinduye iciza kugira irokore abantu benshi, nk’uko iriko irabigira uno musi+. 21 Ntimutinye rero. Nzoguma ndabaha ibifungurwa mwe n’abana banyu batoyi+.» Nuko arabaremesha, arabahumuriza.
22 Yozefu abandanya kuba mu Misiri hamwe n’abo mu rugo rwa se. Yozefu yamaze imyaka 110. 23 Nuko Yozefu abona abuzukuru ba Efurayimu+, abona n’abana ba Makiri+ umuhungu wa Manase. Yabafata nk’abana biwe bwite*. 24 Hanyuma Yozefu abwira benewabo ati: «Ehe ngira mpfe, ariko Imana ntizobura kubitwararika+. Izobakura muri iki gihugu ibajane mu gihugu yarahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko izokibaha+.» 25 Yozefu aca arahiza abahungu ba Isirayeli, ababwira ati: «Imana ntizobura kubitwararika. Muze mutware amagufa yanje, muyakure ino+.» 26 Hanyuma Yozefu apfa afise imyaka 110. Bamusiga ibimubuza kubora+, baca bamushira mw’isandugu mu Misiri.
Canke «hejuru y’amazi asuriranya.»
Canke «inguvu z’Imana.»
Canke «ibimuri», «amatara.»
Canke «ibikoko bigendagenda.» Aho hashobora kuba harimwo ibikoko binyogomba n’ayandi moko y’ibikoko bitari muri iyo migwi yavuzwe.
Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zavyo zose.»
Aha ni ho hantu ha mbere haboneka izina ry’Imana riyitandukanya n’izindi mana. Mu giheburayo ryandikwa uku יהוה (YHWH). Raba Inyongera ya A4.
Mu giheburayo ni «nefeshi.» Bisobanura ngo «ikiremwa gihumeka.»
Mu giheburayo ni «budeliyo.» Ni ibirirarira bimota neza biva ku biti bimwebimwe.
Canke «Tigiri.» Mu gifaransa ni Tigre.
Canke «akagumana n’umugore wiwe.» Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha risobanura «kwumira ku kintu, kumata cane nk’aho hoba hakoreshejwe uburembo.»
Canke «yarusha ubwenge», «yiyubara.»
Canke «nko mu gihe akayaga gatangura guhuhuta.»
Canke «inyankane.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «ruzogukomeretsa.»
Canke «uzorufyonyora.»
Iryo zina risobanura ngo «umuntu yakuwe mw’ivu», «umuntu.»
Canke «ubanje kubabara.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Iryo zina risobanura ngo «muzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «abazima.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «wobura gushirwa hejuru?»
Rishobora kuba ryari itegeko rigabisha abantu ngo ntibice Kayini.
Canke «igihugu ca Nodi.»
Iryo zina risobanura ngo «uwagenywe», «uwashizweho.»
Canke «yangeneye.»
Canke «uruvyaro.» Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «igitabu.»
Canke «umuntu.» Mu giheburayo ni «adamu.»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «akaruhuko», «uruhoza.»
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana y’ukuri.»
Canke «kuko akora ivyo umubiri umutegetse.»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «abagwisha abandi.» Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana y’ukuri.»
Canke «aratuntura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urunganwe», «iyaruka.»
Canke «ntiyagirako umugayo.»
Canke «ubukazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu»; igisandugu kinini kireremba.
Uko bwangana: nk’imetero 134 z’uburebure, 22 z’ubwaguke na 13 z’amahagarara. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo ni «tsohari.» Iryo jambo rishobora kuba ryerekeza ku gisenge c’inzu gifise amahagarara y’intambwe imwe uvuye ku gasongero. Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «impemu y’ubuzima.»
Canke «bo muri uru runganwe», «bo muri iri yaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigabo indwi n’ibigore indwi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigabo indwi n’ibigore indwi.»
Ni nk’imetero 6,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibifise umubiri vyose.»
Biboneka ko iyo mvugo yerekeza ku turemwa dutoduto tubana mu migwi.
Mu giheburayo havuga ngo «gifise impwemu y’ubuzima mu mazuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «yibuka.»
Canke «ica irahagarikwa.»
Umwelayo bawita kandi olive.
Mu giheburayo havuga ngo «umufuniko.»
Mu giheburayo havuga ngo «abitangako ishikanwa riturirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»
Canke «iyaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ico ni ca gisagara gikomeye.»
Ayo mazina arashobora kandi kwerekeza ku bakomotse kuri abo bantu.
Birashoboka kandi ko yoba ari mukuru wa Yafeti.
Iryo zina risobanura ngo «kwigabura.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari ho isi yagabagurwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «amanuka kuraba.»
Canke «bagize ihanga rimwe.»
Iryo zina risobanura ngo «umuvurungano.»
Canke «izokwironsa umuhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «batonda urugamba.»
Canke «isandari.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu wo mu rugo rwanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «abimuharurako nk’ubugororotsi.»
Canke «ku buryo kimwekimwe gihura na kigenzi caco.»
Canke «uruvyaro rwawe.»
Canke «iyaruka.»
Canke «kuko ikosa ry’Abamori ritaruzura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni je nashize umusukukazi wanje mu gikiriza cawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Bisobonura ngo «Imana irumva.»
Hari abiyumvira ko ico gikoko coba ari imparage, kumbure bafatiye ku kuntu ikunda kwigenga.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «azokwankana na benewabo bose.»
Iryo zina risobanura ngo «iriba ry’Uwuriho kandi ambona.»
Canke «ko utagirako umugayo.»
Iryo zina risobanura ngo «data ari hejuru (ashizwe hejuru).»
Iryo zina risobanura ngo «se w’isinzi», «se w’abantu benshi.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Mu giheburayo havuga ngo «mutegerezwa kugenyera agashato k’igihimba c’irondoka canyu.»
Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «umunyamahane.»
Iryo zina risobanura ngo «umuganwakazi.»
Iryo zina risobanura ngo «agatwengo.»
Yari umumarayika aserukira Yehova.
Zari ingero za seya. Zose hamwe zaja mu kintu c’amalitiro nka 10. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «na we aca aguma ahagaze hafi yabo.»
Canke «yari yarahagaritse kuja mu butinyanka.»
Canke «azokwironsa umuhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuko namumenye.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «kuko ari jewe njejwe kubakingira.» Mu giheburayo havuga ngo «kuko bari mu gitutu c’inzu yanje.»
Canke «baca barundana kuri Loti.»
Canke «bateza uruhumyi.»
Canke «n’urukundo rudahemuka (rudahera).»
Iryo zina risobanura ngo «gitoyi.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
Canke «itanure.»
Canke «rigororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko unkunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
Canke «baba ingumba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazontwenga.»
Mu giheburayo havuga ngo «niwumvirize ijwi ryiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «nk’ahoraswa umwampi.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «iriba ry’indahiro», «iriba ry’amashashi indwi.»
Canke «ashira itandiko ku ndogobwa.»
Canke «intambi.»
Canke «ya ntambi.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova aratanga ibikenewe», «Yehova arabibona.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»
Canke «azokwironsa umuhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «incoreke yiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umukuru ahambaye.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «aca apfukamika ingamiya.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «mu bwato bw’ibitungwa.»
Ryari ihereni ry’umuzingi rimeze nk’impeta.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «icarire.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Ashobora kuba ari Labani.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «kugira mpindukirire iburyo canke ibubamfu.»
Yahoze ari umurezi wiwe, akaba yari asigaye ari umusukukazi wiwe.
Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»
Ayo mazina y’abo Dedani yavyaye arashobora kandi kwerekeza ku babakomotseko.
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Canke «n’amakambi yabo azitijwe impome.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «barankana na benewabo bose.»
Canke «kuko yari ingumba.»
Iryo zina risobanura ngo «ubwoya bwinshi.»
Iryo zina risobanura ngo «uwufashe igitsintsiri», «uwuja mu kibanza c’uwundi.»
Canke «umuntu atagirako umugayo.»
Canke «umpe utwo mira.»
Canke «kuko ndushe cane.»
Iryo zina risobanura ngo «bitukura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «azokwironsa umuhezagiro.»
Canke «agaragariza urukundo.»
Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
Iryo zina risobanura ngo «kwagiriza.»
Iryo zina risobanura ngo «ahantu hagutse.»
Canke «n’umutana.»
Iryo zina risobanura ngo «uwufashe igitsintsiri», «uwuja mu kibanza c’uwundi.»
Mu giheburayo havuga ngo «uzovuna ingogo yiwe ikuve kw’izosi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «izokwironsa umuhezagiro.»
Iryo zina risobanura ngo «inzu y’Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Ni ukuvuga igihugu cari mu buseruko bwa Kanani.
Mu giheburayo havuga ngo «umusi ugeze hagati.»
Mu giheburayo havuga ngo «mwenewabo.»
Canke «uri igufa ryanje n’umubiri wanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «mwenewacu.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso akeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «turyamane.»
Mu giheburayo havuga ngo «nuhimbaze indwi y’ubugeni.»
Mu giheburayo havuga ngo «aryamana.»
Mu giheburayo havuga ngo «yanka.»
Canke «yari ingumba.»
Iryo zina risobanura ngo «raba, umuhungu!»
Iryo zina risobanura ngo «kwumva.»
Iryo zina risobanura ngo «gufatana», «kwifatanya.»
Iryo zina risobanura ngo «uwuninahazwa», «imvo yo kuninahazwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «avyarire ku bibero vyanje.»
Iryo zina risobanura ngo «umucamanza.»
Iryo zina risobanura ngo «ukunyinyurana kwanje.»
Iryo zina risobanura ngo «umugisha.»
Iryo zina risobanura ngo «uwunezerewe», «agahimbare.»
Vyari ivyamwa abantu biyumvira ko bifasha kurondoka.
Iryo zina risobanura ngo «ni impembo.»
Iryo zina risobanura ngo «kwihangana.»
Ni impfunyapfunyo y’izina «Yosifiya.» Risobanura ngo «Yehova niyongereze (nagwize).»
Canke «ibimenyetso.»
Canke «ko mvuga ukuri.»
Canke «hamwe warobanura.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «gukemura.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Ni uruzi Efurate.
Canke «benewabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «gusoma.»
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Canke «mu gasaho k’itandiko ry’ingamiya.»
Canke «yigeze iramburura.»
Ni imvugo y’igiharameya isobanura ngo «ikirundo c’icabona.»
Ni imvugo y’igiheburayo na yo nyene isobanura ngo «ikirundo c’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «benewabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «asoma.»
Iryo zina risobanura ngo «amakambi abiri.»
Canke «impfizi z’inka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «icambu.»
Canke «umwonga», «umubande.»
Iryo zina risobanura ngo «uwunyinyana n’Imana (uwumirako)» canke «Imana iranyinyana.»
Iryo zina risobanura ngo «mu maso h’Imana.»
Ni iyindi nyandiko y’izina «Peniyeli.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutsi wo kw’itako.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuhezagiro.»
Iryo zina risobanura ngo «insago», «impongore.»
Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.
Canke «kuraba.»
Canke «dushingiranire.»
Canke «mwankwegeye ugukumirwa.»
Canke «mu nzira naciyemwo.»
Canke «abinyegeza.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana y’i Beteli.»
Iryo zina risobanura ngo «umweloni w’amarira.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Iryo zina risobanura ngo «umuhungu w’ikigandaro canje.»
Iryo zina risobanura ngo «umuhungu w’iburyo.» Ni ukuvuga umuhungu akundwa kurusha abandi.
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»
Mu giheburayo havuga ngo «abo ni bo bahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «aba ni bo bashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.
Canke «impuzu ndende nziza cane.»
Canke «amukunda kuruta uko abakunda.»
Canke «ntimumukozeko ukuboko.»
Labudano ni ibirirarira vyirabura bimota neza biva ku mababi n’amashami y’ibiterwa bimwebimwe.
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Mu giheburayo havuga ngo «tugapfuka amaraso yiwe.»
Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
Ni bo Bishimayeli bavugwa muri iki kigabane.
Canke «i Kezibu.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «wa mumaraya wo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «gasa n’agahama.»
Iryo zina risobanura ngo «gutabura.» Bishobora kuba vyerekeza ku kuntu yiciriye inzira igihe yavuka.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «imisoko y’inzabibu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «itangi», «icobo.»
Canke «wo kwibuka isabukuru y’amavuka.»
Canke «b’inkerebutsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «itangi», «icobo.»
Canke «abahagarikizi.»
Canke «impuzu z’ilino nziza.» Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
Iryo jambo rishobora kuba ryerekana ko abantu bakwiye kumwubaha no kumutera iteka.
Hitwa kandi Heliyopoli.
Canke «kugira ingendo.»
Canke «igihe yahagarara imbere ya Farawo.»
Hitwa kandi Heliyopoli.
Iryo zina risobanura ngo «uwutuma umuntu yibagira.»
Iryo zina risobanura ngo «kurondoka kugwije kabiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «hariyo intete.» Zishobora kuba zari intete z’ingano canke iza sayiri. Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Canke «hariyo intete.» Zishobora kuba zari intete z’ingano canke iza sayiri. Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Canke «abatasi.»
Canke «agasaho karimwo amahera yiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «imvi zanje zimanukana intuntu.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Mu giheburayo ni «labudano.» Ni ibirirarira bimota neza vyirabura biva ku mababi n’amashami y’uduti tumwetumwe.
Ni intete zimeze nk’ibiyoba z’igiti bita botina.
Canke «mwenewabo basangiye se na nyina.»
Canke «mukama wacu.»
Mu giheburayo havuga ngo «imvi zanje zimanukana umubabaro.»
Canke «mu gihugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «se wa Farawo.»
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «muzotungwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «hanuze.»
Vyari ibipande vy’ubutare bw’ifeza.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wiwe uca uratimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wiwe urahembuka.»
Canke «abantu biwe bose.»
Hashobora kuba harimwo abuzukuru n’abuzukuruza.
Hitwa kandi Heliyopoli.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «kandi nabayeho ndi kavamahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «uzonyereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «umusozi.»
Canke «mu misi y’iherezo.»
Canke «ubukazi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyiyumviro vyanje.»
Canke «bagaca ibitsi.»
Iryo zina risobanura ngo «nyenevyo», «uwo vyegukira.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Ni ukuvuga Yozefu.
Canke «mu rutwariro.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Canke «mu rugo.»
Iryo zina risobanura ngo «ikigandaro c’Abanyamisiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «bavukiye ku bibero vyiwe.»