KUVAYO
1 Aya rero ni yo mazina y’abahungu ba Isirayeli binjiye mu Misiri bari kumwe na Yakobo, kandi umwe wese yari kumwe n’umuryango wiwe+: 2 Rubeni, Simeyoni, Lewi, Yuda+, 3 Isakari, Zabuloni, Benyamini, 4 Dani, Nafutali, Gadi na Asheri+. 5 Abantu bose bakomotse kuri Yakobo bari 70, ariko Yozefu yari asanzwe ari mu Misiri+. 6 Amaherezo Yozefu arapfa+, na benewabo bose hamwe n’urunganwe* rwose rw’ico gihe. 7 Nuko Abisirayeli bararondoka, batangura kugwira cane no gukomera cane. Baguma bongerekana ku rugero rudasanzwe, ku buryo buzura igihugu cose+.
8 Haciye igihe, mu Misiri hatangura gutwara uwundi mwami atari azi Yozefu. 9 Maze abwira abantu biwe ati: «Ehe Abisirayeli bagwiriye cane, kandi basigaye baturusha inkomezi+. 10 Reka tubigire amayeri kugira ntibabandanye kugwira. Ahandiho intambara niyatera, bazoca bifatanya n’abansi bacu baturwanye, hanyuma bave mu gihugu bigire.»
11 Baca bagena abahagarikiye ibikorwa* kugira babacinyize mu kubakoresha ibikorwa biruhisha+. Abisirayeli bubakira Farawo ibisagara vyo kubikamwo ibintu, ari vyo Pitomu na Ramesesi+. 12 Mugabo uko barushiriza kubacinyiza, ni ko barushiriza kugwira kandi ni ko barushiriza gukwiragira mu gihugu. Abanyamisiri baca batekerwa n’ubwoba kubera Abisirayeli bongera barabanka cane+. 13 Nuko bakoresha Abisirayeli ibikorwa vy’abashumba biruhisha cane+. 14 Baguma babakoresha ibikorwa biruhisha vyo guponda ubudongo bw’ibumba no gufyatura amatafari be n’ivyo mu mirima, ku buryo Abisirayeli bumva barambiwe n’ubuzima. Emwe, barabacumukuza cane mu bikorwa vy’abashumba vy’ubwoko bwose+.
15 Mu nyuma, umwami wa Misiri avugana n’abakirizi b’Abaheburayokazi, ari bo Shifura na Puwa. 16 Abategeka ati: «Igihe mufasha Abaheburayokazi kwibaruka+, mukabona bari ku gatebe bibarukirako, muze murabe neza umwana avutse. Musanze ari umuhungu muce mumwica, ariko musanze ari umukobwa mumureke abandanye kubaho.» 17 Mugabo kubera yuko abo bakirizi batinya Imana y’ukuri, ntibakoze ivyo umwami wa Misiri yari yabategetse. Ntibigeze bica+ abana b’abahungu. 18 Haciye igihe, umwami wa Misiri ahamagara ba bakirizi, ababaza ati: «Kubera iki mwanse kwica abana b’abahungu?» 19 Na bo bishura Farawo bati: «Abaheburayokazi ntibameze nk’Abanyamisirikazi. Barakomeye cane ku buryo bibaruka n’umwakirizi atarabashikira.»
20 Imana rero igirira neza abo bakirizi, Abisirayeli na bo babandanya kugwira no gukomera cane. 21 Kubera yuko abo bakirizi batinye Imana y’ukuri, na yo yahavuye ibahezagira bararonka imiryango yabo. 22 Amaherezo, Farawo ategeka abantu biwe bose ati: «Umuhungu wese w’Umuheburayo avutse muzoce mumuta mu ruzi Nili, ariko abakobwa muze mubareke babandanye kubaho+.»
2 Muri ico gihe, umugabo umwe wo muryango wa Lewi yubakana n’umukobwa wo muri uwo muryango nyene+. 2 Uwo mugore araheza asama inda, avyara umuhungu. Abonye ukuntu yari mwiza, aca amara amezi atatu amunyegeje+. 3 Hanyuma abonye bitagikunda ko amunyegeza+, aca afata ikapo* ijishwe mu rufunzo*, ayihomekako ikaburimbi n’uburembo maze ayishiramwo uwo mwana. Araheza ashira iyo kapo mu marenga yari ku nkombe y’uruzi Nili. 4 Mushiki w’uwo mwana+ aca ahagarara kure yiwe, kugira arabe ibiza kumushikira.
5 Haciye akanya, umukobwa wa Farawo amanuka kwoga mu ruzi Nili, kandi abasukukazi biwe bariko bagendagenda ku nkombe y’urwo ruzi. Hanyuma abona ya kapo hagati mu marenga, aca arungika umusukukazi wiwe kuyitora+. 6 Ayuguruye, aca asangayo wa mwana, kandi yariko ararira. Nuko avuga ati: «Uyu ni umwana w’Abaheburayo.» Mugabo amwumvira akagongwe. 7 Mushiki w’uwo mwana aca abaza umukobwa wa Farawo ati: «Ngende kuguhamagarira umugore* w’Umuheburayokazi kugira akwonkereze uwo mwana?» 8 Umukobwa wa Farawo amwishura ati: «Genda!» Uwo mwigeme aca aragenda, ahamagara nyina w’uwo mwana+. 9 Maze umukobwa wa Farawo amubwira ati: «Genda unyonkereze uyu mwana, nzoguhemba.» Uwo mugore aca atwara uwo mwana, aramwonsa. 10 Uwo mwana amaze gukura, aca amuzanira umukobwa wa Farawo, aba nk’umuhungu wiwe+. Nuko amwita Musa*, avuga ati: «Ni kubera namukuye mu mazi+.»
11 Musa amaze gukura*, umusi umwe aja kuraba benewabo maze abona ibikorwa biruhisha bariko barakora+. Abona kandi Umunyamisiri yariko akubita Umuheburayo mwenewabo. 12 Araheza yeraguza hirya no hino, abona nta muntu n’umwe amubona, aca yica uwo Munyamisiri, amunyegeza mu musenyi+.
13 Bukeye yongera gusohoka, abona abagabo babiri b’Abaheburayo bariko bararwana. Abwira uwari mw’ikosa ati: «Uriko ukubitira iki mugenzawe+?» 14 Na we amwishura ati: «Ni nde yakugize umuganwa n’umucamanza wacu? Ushaka kunyica nk’uko wishe wa Munyamisiri+?» Musa aca agira ubwoba, avuga ati: «Ca kintu camenyekanye!»
15 Mu nyuma Farawo yumva ivyari vyabaye, aca arondera kwica Musa. Musa aca arahunga, aja kuba mu gihugu ca Midiyani+. Amaze gushikayo, aca yicara iruhande y’ikinogo c’amazi. 16 Umuherezi w’i Midiyani+ rero yari afise abakobwa indwi. Nuko baza kuvoma amazi, buzuza amato* kugira ibitungwa vya se binywe amazi. 17 Ariko nk’uko bisanzwe, abungere baraza barabirukana. Musa aca arahaguruka arabatabara* yongera aha amazi ibitungwa vyabo. 18 Bashitse muhira kwa se wabo Ruweli*+, aratangara cane maze ababaza ati: «Ko mutashe kare uno musi?» 19 Bamwishura bati: «Hari Umunyamisiri+ yadukingiye abungere. Yatuvomeye n’amazi yongera aravomera ibitungwa vyacu.» 20 Aca abaza abo bakobwa biwe ati: «None ari hehe? Ko mwamusize? Nimumuhamagare dusangire ibifungurwa.» 21 Inyuma y’ivyo, Musa yemera kuba kwa Ruweli, na we araheza amuha Zipora+ umukobwa wiwe ngo abe umugore wiwe. 22 Haciye igihe, Zipora avyara umuhungu, Musa aca amwita Gerushomu*+ kuko yavuga ati: «Nabaye muri iki gihugu ndi kavamahanga+.»
23 Haheze igihe kirekire, umwami wa Misiri arapfa+ ariko Abisirayeli babandanya kuboroga no kurira kubera ibikorwa vy’abashumba. Ugutabaza kwabo kuguma kuduga ku Mana y’ukuri+. 24 Imana iraheza yumva amaborogo yabo+, yibuka isezerano yagiraniye na Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. 25 Nuko Imana yitegereza Abisirayeli, ibona amagorwa barimwo.
3 Nuko Musa aba umwungere w’ibitungwa vya sebukwe Yetiro+, umuherezi w’i Midiyani. Umusi umwe yari ashoreye ibitungwa yerekeza mu burengero bw’agahinga, arateba ashika i Horebu ku musozi w’Imana y’ukuri+. 2 Umumarayika wa Yehova aca aramubonekera ari mu rubeya rw’umuriro, hagati mu gisaka c’amahwa+. Musa yitegereje, abona ico gisaka kiriko kiraka mugabo ntigishe. 3 Aca avuga ati: «Reka negere ndabe ico gitangaza, menye igituma kirya gisaka kidasha.» 4 Yehova abonye ko yegereye ngo arabe ivyo ari vyo, aca aramuhamagara ari muri nya gisaka ati: «Musa! Musa!» Na we ati: «Sabwe» 5 Imana imubwira iti: «Ntubandanye kwegera ng’aha. Kura ibirato* wambaye, kuko ahantu uhagaze ari heranda.»
6 Ibandanya kumubwira iti: «Ndi Imana ya so wawe, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+.» Musa aca yipfuka mu maso, kuko yatinya kuraba Imana y’ukuri. 7 Yehova yongerako ati: «Nabonye vy’ukuri amagorwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amarira yabo kubera babakoresha ibikorwa biruhisha. Ndazi neza umubabaro barimwo+. 8 Ngira manuke kubarokora mu maboko y’Abanyamisiri+, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, akarere k’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 9 Ugutakamba kw’Abisirayeli kwanshikiriye, kandi nabonye ukuntu Abanyamisiri babacinyiza+. 10 Umve rero, ngira ndagutume kwa Farawo kugira ukure mu Misiri abantu banje, ari bo Bisirayeli+.»
11 Ariko Musa abwira Imana y’ukuri ati: «Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo gukura Abisirayeli mu Misiri?» 12 Imana imwishura iti: «Nzoba ndi kumwe nawe+. Ng’iki ikimenyetso kikwemeza ko ari jewe nagutumye: niwamara gukura abantu banje mu Misiri, muzosenga* Imana y’ukuri muri kuri uwu musozi+.»
13 Mugabo Musa abwira Imana y’ukuri ati: «Dufate ko ngiye ku Bisirayeli nkababwira nti: “Imana ya ba sokuruza banyu yabantumyeko.” Nibambaza bati: “Yitwa nde+?”, nzobishura iki?» 14 Imana imwishura iti: «Nzoba ico nshatse* kuba*+.» Yongerako iti: «Uze ubwire Abisirayeli uti: “‘Nzoba’ yabantumyeko+.”» 15 Imana yongera kubwira Musa iti:
«Uzobwire Abisirayeli uti: “Yehova Imana ya ba sokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+ yabantumyeko.” Iryo ni ryo zina ryanje gushika ibihe bidahera+, kandi iryo ni ryo bazonyibukirako uko urunganwe* ruzokurikira urundi. 16 Genda rero ukoranye abashingantahe bo muri Isirayeli, ubabwire uti: “Yehova Imana ya ba sokuruza banyu, Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo yambonekeye, ambwira ati: ‘Nabitegereje+ ndabona ivyo bariko barabakorera mu Misiri. 17 Ni co gituma nafashe ingingo yo kubakura mu magorwa+ Abanyamisiri babateza, kugira ndabajane mu gihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori+, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.’”
18 Bazokwemera ivyo ubabwiye+. Mwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli muzoja ku mwami wa Misiri, mumubwire muti: “Yehova Imana y’Abaheburayo+ yavuganye natwe. Turagusavye utureke tugire urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kugira tuje gushikanira ibimazi Yehova Imana yacu+.” 19 Ariko jewe ndazi neza ko umwami wa Misiri atazobareka ngo mugende, kiretse agondojwe n’ukuboko gukomeye+. 20 Nzoramvura rero ukuboko kwanje nkubite Misiri mu gukorerayo ibitangaza vyinshi. Inyuma y’aho azobarekura mugende+. 21 Nzotuma Abanyamisiri babagirira impuhwe, kandi nimwavayo ntimuzogenda iminwe misa+. 22 Umugore wese azosabe umugore babana mu nzu n’abagore b’ababanyi ibintu vy’ifeza n’inzahabu hamwe n’impuzu. Muze muvyambike abahungu banyu n’abakobwa banyu, mugende munyaze Abanyamisiri+.»
4 Ariko Musa yishura ati: «Dufate ko batemeye ivyo mvuze, bakanka kunyumviriza+ maze bakavuga bati: “Yehova ntiyakubonekeye.”» 2 Yehova aca amubaza ati: «Ico ufise mu ntoke ni igiki?» Na we ati: «Ni inkoni.» 3 Imana irabandanya iti: «Yiterere hasi.» Nuko ayiterera hasi, ica ihinduka inzoka+. Musa aca arayihunga. 4 Ariko Yehova amubwira ati: «Yifate ku murizo.» Musa aca arayifata, ica yongera guhinduka inkoni mu minwe yiwe. 5 Imana ica imubwira iti: «Uragira gutyo kugira bemere ko Yehova Imana ya ba sekuruza babo, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+ yakubonekeye+.»
6 Yehova amubwira kandi ati: «Injiza ukuboko kwawe aho hantu impuzu yawe ikunjiye* mu gikiriza.» Aca arakwinjizayo. Agize ngo aragukurayo, asanga kwafashwe n’imibembe, gusigaye kwera derere*+! 7 Hanyuma amubwira ati: «Subira winjizeyo ukuboko kwawe.» Aca agusubizayo. Agukuyeyo, asanga kwasubiye gusa n’ahandi hose ku mubiri wiwe! 8 Imana ica imubwira iti: «Nibatemera ivyo uvuze canke ngo bemezwe n’ikimenyetso ca mbere, ntibazobura kwemezwa n’ico kimenyetso+ ca kabiri. 9 Ariko nibatemezwa n’ivyo bimenyetso bibiri, bakanka kukwumviriza, uzoce udaha amazi mu ruzi Nili uyasese hasi. Ayo mazi azoca ahinduka amaraso+.»
10 Maze Musa abwira Yehova ati: «Urantunga Yehova, erega jewe sinoroherwa no kuvuga. Kandi si ivya vuba, ntibitanguye kuva aho uvuganiye n’umusavyi wawe. Mvuga nikwega kandi n’ururimi rwanje ntirwatura neza+.» 11 Yehova amwishura ati: «Ni nde yahaye umuntu umunwa? Ni nde atuma umuntu aba umuragi, uwutumva, uwubona canke impumyi? None si jewe Yehova? 12 Ubu rero genda! Nzoba ndi kumwe nawe igihe uzoba uriko uravuga*, kandi nzokwigisha ivyo ukwiye kuvuga+.» 13 Ariko Musa avuga ati: «Urantunga Yehova, ndakwinginze urabe uwundi utuma.» 14 Yehova aca aramushavurira, amubwira ati: «None ntufise mwenewanyu, Aroni+ Umulewi? Ndazi ko azi kuvuga neza, kandi ariko araza guhura nawe. Niyakubona araza kunezerwa+. 15 Uze kuvugana na we, umubwire ivyo azovuga+. Nzoba ndi kumwe namwe igihe muzoba muriko muravuga+, kandi nzobigisha ico mukwiye gukora. 16 Azovugana n’abantu mu kibanza cawe. Azokubera umuvugizi, nawe umubere uwuserukira Imana*+. 17 Iyo nkoni uzoyitware mu kuboko kwawe kugira uyikoreshe vya bimenyetso+.»
18 Musa aca asubira kwa sebukwe Yetiro+, amubwira ati: «Ndagusavye undeke nsubire mu Misiri kuraba benewacu, ndabe ko bakiriho.» Yetiro amwishura ati: «Genda amahoro.» 19 Musa akiri aho i Midiyani, Yehova amubwira ati: «Nusubire mu Misiri kuko abantu bose bahora barondera kukwica bapfuye+.»
20 Musa aca yuriza indogobwa umugore wiwe n’abahungu biwe, afata urugendo asubira mu Misiri, agenda afise ya nkoni y’Imana y’ukuri mu kuboko kwiwe. 21 Maze Yehova abwira Musa ati: «Niwasubira mu Misiri, uze wibuke gukorera imbere ya Farawo ibitangaro vyose naguhaye ububasha bwo gukora+. Ariko nzomureka akomantaze umutima wiwe+, kandi ntazorekura abantu banje+. 22 Uze ubwire Farawo uti: “Yehova avuze ati: ‘Isirayeli ni umuhungu wanje, imfura yanje+. 23 Ndagutegetse rero urekure umuhungu wanje kugira aje kunsenga*. Ukabona utamurekuye, nzoca nica umuhungu wawe, imfura yawe+.’”»
24 Nuko bari mu nzira, bageze ahantu barara, Yehova+ ahura na we, aguma arondera kumwica*+. 25 Amaherezo, Zipora+ atora ibuye ry’isare* maze agenyera* umuhungu wiwe, ku buryo agashato k’igihimba c’irondoka gakorokera ku birenge vyiwe*. Araheza avuga ati: «Ni kubera yuko umbereye umugabo w’amaraso.» 26 Imana ica iramureka. Ukwo kugenyerwa ni kwo kwatumye Zipora amwita «umugabo w’amaraso» muri ico gihe.
27 Yehova abwira Aroni ati: «Genda uhurire na Musa+ mu gahinga.» Aroni aca aragenda, amusanga ku musozi w’Imana y’ukuri+ maze aramusoma. 28 Maze Musa abwira Aroni ibintu vyose Yehova yari yamubwiye+, n’ibimenyetso vyose yari yamutegetse gukora+. 29 Musa na Aroni baca baragenda, bakoranya abashingantahe bose bo muri Isirayeli+. 30 Aroni ababwira ibintu vyose Yehova yari yabwiye Musa, hanyuma Musa akorera vya bimenyetso+ imbere yabo. 31 Abantu baca baremera+. Aho bumviye ko Yehova yari yibutse* Abisirayeli+ be n’uko yari yabonye amagorwa barimwo+, baca barunama mu maso hashika hasi.
5 Inyuma y’ivyo, Musa na Aroni baja kwa Farawo bamubwira bati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Rekura abantu banje baje kungirira umusi mukuru mu gahinga.”» 2 Mugabo Farawo abishura ati: «Yehova ni nde+ ku buryo nomugamburukira nkarekura Abisirayeli+? Yehova sindamuzi na gato, kandi sindekura Abisirayeli+.» 3 Ariko bamubwira bati: «Imana y’Abaheburayo yaravuganye natwe. Dushaka kugira urugendo rw’imisi itatu mu gahinga kugira tuje gushikanira ibimazi Yehova Imana yacu+. Ahandiho yoduteza indwara canke akatwicisha inkota.» 4 Umwami wa Misiri abishura ati: «Musa na Aroni, kubera iki muriko murabuza abantu gukora akazi kabo? Subira ku bikorwa vyanyu*+!» 5 Farawo yongerako ati: «Raba ingene abantu ari benshi, namwe mugashaka kubakura ku bikorwa vyabo!»
6 Uwo musi nyene, Farawo aca ategeka abahagarikiye ibikorwa n’abarongozi b’Abisirayeli ati: 7 «Ntimusubire kubaha ivyatsi* bakoresha mu kubumba amatafari+. Nibaze baraja kuvyironderera. 8 Ariko mubasabe ca gitigiri nyene c’amatafari bahora babumba. Ntimukigabanye kuko bariko baranebwa. Ni co gituma bariko bikomesha amaruru ngo: “Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ibimazi Imana yacu!” 9 Nimubakoreshe cane, bagume ku kazi kugira ntibaronke umwanya wo kwumviriza ibinyoma.»
10 Abahagarikiye ibikorwa+ n’abarongozi b’Abisirayeli baca baragenda, babwira abantu bati: «Farawo avuze ati: “Sinzosubira kubaha ivyatsi mukoresha mu kubumba amatafari. 11 Genda muvyironderere aho biri hose, ariko igitigiri c’amatafari musabwa ntikizogabanuka na gatoyi.”» 12 Abantu baca bakwiragira igihugu cose ca Misiri kurondera ibishakara bakoresha nk’ivyatsi vyo kubumba amatafari. 13 Abahagarikiye ibikorwa baguma babahutagiza, bababwira ngo: «Umwe wese ategerezwa gukwiza igitigiri asabwa ku musi, nk’uko vyari mukironswa ivyatsi.» 14 Vyongeye, abo Farawo yagenye ngo bahagarikire igikorwa barakubise abarongozi bashizeho ngo bakoreshe Abisirayeli+, bababwira bati: «Kubera iki mutakwije igitigiri c’amatafari mwahora mubumba? Ejo ntimwayakwije kandi n’uyu musi ntimwayakwije.»
15 Abo barongozi b’Abisirayeli baca baja kwa Farawo, batangura kumuririra bati: «Kubera iki udufata gutyo twebwe abasavyi bawe? 16 Nta vyatsi bakiduha, ariko batubwira ngo: “Bumba amatafari!” Twirirwa turakubitwa kandi abantu bawe ari bo bari mu makosa.» 17 Mugabo abishura ati: «Muriko muranebwa! Muriko muranebwa+! Ni co gituma muriko mwivugisha ngo: “Dushaka kugenda, dushaka gushikanira ibimazi Yehova+.” 18 Subira ku bikorwa ningoga! Nta vyatsi bazobaha kandi mutegerezwa gushitsa igitigiri c’amatafari musabwa.»
19 Abo barongozi b’Abisirayeli bumvise itegeko Farawo atanze ngo: «Igitigiri c’amatafari musabwa ku musi ntikizogabanuka», baca babona ko bigorewe. 20 Bavuye kwa Farawo, baca basanga Musa na Aroni babarindiriye. 21 Maze bababwira bati: «Yehova narabe ivyo mwadukoreye abacire urubanza, kuko mwatumye Farawo n’abasuku biwe batwanka urunuka, kandi mwashize inkota mu maboko yabo kugira batwice+.» 22 Musa aca atakambira Yehova ati: «Yehova, kubera iki wakwegeye amagorwa aba bantu? Kubera iki wandungitse ino? 23 Kuva ngiye kuvugana na Farawo mw’izina ryawe+, yaciye arushiriza kubagirira nabi+, kandi nawe nturarokora abantu bawe+.»
6 Nuko Yehova abwira Musa ati: «Ubu rero ugira ubone ico nzokorera Farawo+. Ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abarekura. Emwe, ukuboko kwanje gukomeye kuzotuma abirukana mu gihugu ciwe+.»
2 Imana yongera kubwira Musa iti: «Ndi Yehova. 3 Igihe niyereka Aburahamu, Izahaki na Yakobo, narabahishuriye ko ndi Imana Mushoboravyose+, ariko sinabahishuriye insobanuro yuzuye y’izina ryanje Yehova+. 4 Naragiraniye kandi isezerano na bo ry’uko nzobaha igihugu ca Kanani babayemwo ari abanyamahanga+. 5 Ubu rero numvise ukuniha kw’Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, nca nibuka isezerano ryanje+.
6 Bwira rero Abisirayeli uti: “Ndi Yehova. Nzobakiza ibikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha, kandi nzobakura mu buja bwabo+. Nzobarokora nkoresheje ukuboko kwanje kw’ububasha* n’ibihano bikomeye+. 7 Muzoba abantu banje nanje mbe Imana yanyu+. Muzomenya vy’ukuri ko jewe Yehova Imana yanyu ari jewe ndiko ndabakura mu bikorwa biruhisha Abanyamisiri babakoresha. 8 Nzobajana mu gihugu narahiye* ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo, kandi nzokibaha kibe rwanyu+. Ndi Yehova+.”»
9 Mu nyuma, Musa ashikiriza ubwo butumwa Abisirayeli, ariko ntibamwumviriza, kubera bari bacitse intege no kubera bari barembejwe n’ubuja+.
10 Maze Yehova abwira Musa ati: 11 «Genda kwa Farawo umwami wa Misiri, umubwire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.» 12 Ariko Musa yishura Yehova ati: «Raba n’Abisirayeli banse kunyumviriza+! None Farawo yonyumviriza gute n’ingene ntazi kuvuga neza+?» 13 Mugabo Yehova asubiriramwo Musa na Aroni ivyo bategerezwa kubwira Abisirayeli na Farawo umwami wa Misiri, kugira bakure Abisirayeli mu Misiri.
14 Aba ni bo bari abakuru b’imiryango yabo: abahungu ba Rubeni imfura ya Isirayeli+ bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Rubeni.
15 Abahungu ba Simeyoni bari Yemuweli, Yamini, Ohadi, Yakini, Zohari na Shawuli uwo yavyaranye n’Umunyakananikazi+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Simeyoni.
16 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi+ hisunzwe imiryango bakomokamwo: Gerushoni, Kohati na Merari+. Lewi yabayeho imyaka 137.
17 Abahungu ba Gerushoni hisunzwe imiryango yabo bari Libuni na Shimeyi+.
18 Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+. Kohati yabayeho imyaka 133.
19 Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi.
Iyo ni yo miryango y’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+.
20 Amuramu arongora Yokebedi+ mushiki wa se wiwe, araheza avyara Aroni na Musa+. Amuramu yabayeho imyaka 137.
21 Abahungu ba Izihari bari Kora+, Nefegi na Zikiri.
22 Abahungu ba Uziyeli bari Mishayeli, Elizafani+ na Sitiri.
23 Aroni arongora Elisheba umukobwa wa Aminadabu, mushiki wa Nahashoni+. Araheza avyara Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+.
24 Abahungu ba Kora bari Asiri, Elikana na Abiyasafu+. Iyo ni yo miryango yakomotse kuri Kora+.
25 Eleyazari+, umuhungu wa Aroni, arongora umwe mu bakobwa ba Putiyeli, araheza avyara Finehasi+.
Abo ni bo bakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango* w’Abalewi hisunzwe ukuntu ikurikirana+.
26 Aroni na Musa bavuzwe ng’aha ni bo Yehova yabwiye ati: «Nimukure Abisirayeli mu Misiri bari mu migwi*+.» 27 Ni bo babwiye Farawo umwami wa Misiri ngo arekure Abisirayeli bave mu Misiri+.
28 Umusi Yehova yavugana na Musa mu Misiri, 29 Yehova yamubwiye ati: «Ndi Yehova. Bwira Farawo umwami wa Misiri ibintu vyose ndiko ndakubwira.» 30 Ariko Musa yishura Yehova ati: «Ehe sinzi kuvuga neza! None Farawo azonyumviriza gute+?»
7 Yehova rero abwira Musa ati: «Raba, ndakugize nk’Imana* kuri Farawo, Aroni mwenewanyu na we azokubera umuhanuzi+. 2 Uzoza urasubiramwo ivyo ndagutegetse vyose, Aroni mwenewanyu na we abibwire Farawo, kandi azorekura Abisirayeli bave mu gihugu ciwe. 3 Nanje nzoreka Farawo akomantaze umutima wiwe+, kandi nzokorera mu Misiri ibimenyetso vyinshi n’ibitangaro vyinshi+. 4 Ariko Farawo ntazobumviriza. Nzokwerekana ububasha bwanje mu Misiri*, kandi nzokura mu Misiri isinzi ry’abantu banje* ari bo Bisirayeli, nkoresheje ibihano bikomeye+. 5 Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri ko ndi Yehova+ ninerekana ububasha bwanje mu Misiri, ngakurayo Abisirayeli.» 6 Musa na Aroni baca bakora ivyo Yehova yari yabategetse, babikora gutyo nyene. 7 Igihe Musa na Aroni bavugana na Farawo, Musa yari afise imyaka 80+, Aroni na we 83.
8 Hanyuma Yehova abwira Musa na Aroni ati: 9 «Farawo niyabasaba gukora igitangaro, wewe Musa uzoce ubwira Aroni uti: “Fata iyo nkoni yawe uyiterere hasi imbere ya Farawo.” Izoca ihinduka ikiyoka kinini+.» 10 Musa na Aroni baca baja kwa Farawo, babigenza nk’uko nyene Yehova yari yabategetse. Aroni aterera hasi inkoni yiwe imbere ya Farawo n’abasuku biwe, ica ihinduka ikiyoka kinini. 11 Ariko Farawo aca atumako abantu b’incabwenge* n’abapfumu. Abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri+ baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubupfumu bwabo+: 12 umwe wese aterera hasi inkoni yiwe, zica zihinduka ibiyoka bininibinini. Mugabo ya nkoni ya Aroni ica imira inkoni zabo. 13 Ariko Farawo akomantaza umutima wiwe+, ntiyabumviriza nk’uko nyene Yehova yari yabivuze.
14 Yehova aca abwira Musa ati: «Farawo ni intumva+. Yanse kurekura abantu banje. 15 Ejo mu gitondo uzoje kumuraba. Azomanuka ku ruzi Nili. Nawe uzohagarare ku nkombe y’urwo ruzi, umutegere. Uzogende utwaye mu ntoke ya nkoni yahinduka inzoka+. 16 Uzomubwire uti: “Yehova Imana y’Abaheburayo yarantumye ngo ndakubwire+ ‘urekure abantu biwe kugira baje kumusenga* mu gahinga’, ariko gushika n’ubu nturagamburuka. 17 Yehova rero avuze ati: ‘Iki ni co kizokwereka ko ndi Yehova+: ngira nkubite uruzi Nili iyi nkoni iri mu kuboko kwanje, kandi amazi yarwo azoca ahinduka amaraso. 18 Ifi ziri mu ruzi Nili zizopfa, kandi urwo ruzi ruzonuka cane ku buryo Abanyamisiri batazoshobora kunywa amazi yarwo.’”»
19 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Bwira Aroni uti: “Fata iyo nkoni yawe uramvurire ukuboko kwawe hejuru y’amazi ya Misiri+, hejuru y’inzuzi zaho, imigende* yaho, ibidengeri vyaho+ n’amatangi yaho yose y’amazi, kugira ayo mazi ahinduke amaraso.” Amazi yose yo mu Misiri azohinduka amaraso, mbere n’ayo mu vyombo vy’ibiti n’ivy’amabuye.» 20 Ubwo nyene Musa na Aroni baca bakora ivyo Yehova yari abategetse. Aroni aca aduza ya nkoni, ayikubita mu ruzi Nili imbere ya Farawo n’abasuku biwe, amazi yarwo yose aca ahinduka amaraso+. 21 Ifi zari mu ruzi Nili zica zirapfa+, uruzi rutangura kunuka cane ku buryo Abanyamisiri badashobora kunywa amazi yarwo+. Amazi yose yo mu Misiri yari yahindutse amaraso.
22 Ariko abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+. Farawo aca abandanya gukomantaza umutima, ntiyumviriza Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabivuze+. 23 Farawo aca yisubirira muhira, ntiyashira umutima ku vyo yabonye. 24 Abanyamisiri bose baca batangura kwimba hafi y’uruzi Nili barondera amazi yo kunywa, kuko batashobora kunywa amazi yarwo. 25 Nuko haca imisi indwi Yehova ahinduye amaraso amazi y’uruzi Nili.
8 Maze Yehova abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*+. 2 Ukaguma wanka kubarekura, igihugu cawe cose nzogiteza ikiza c’ibikere+. 3 Uruzi Nili ruzokwuzuramwo ibikere. Bizova mu ruzi vyinjire mu nzu yawe no mu cumba cawe, biduge no ku gitanda cawe. Bizokwinjira mu mazu y’abasuku bawe, bije ku bantu bawe, mu mafuru yawe n’ibikono vyawe bacumbiramwo imikate+. 4 Ibikere bizokwurirako, vyurire ku bantu bawe no ku basuku bawe bose.’”»
5 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: «Bwira Aroni uti: “Fata ya nkoni yawe hanyuma uramvurire ukuboko hejuru y’inzuzi, imigende y’uruzi Nili n’ibidengeri vy’amazi, kugira ibikere biduge bitere igihugu ca Misiri.”» 6 Aroni aca aramvurira ukuboko hejuru y’amazi ya Misiri, ibikere bica bitangura kuduga, vyuzura igihugu ca Misiri. 7 Ariko ba baherezi bakora ivy’amageza baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge. Na bo nyene batuma ibikere biduga mu gihugu ca Misiri+. 8 Farawo aca ahamagara Musa na Aroni, ababwira ati: «Nimwinginge Yehova adukureko ibi bikere twe n’abantu banje+, kuko ngira ndekure abantu banyu kugira baje gushikanira ibimazi Yehova.» 9 Musa abwira Farawo ati: «Mbwira rero umusi notakambira Imana kugira igukureko ivyo bikere mwe n’abasuku bawe n’abantu bawe, be no mu mazu yanyu. Bizosigara mu ruzi Nili gusa.» 10 Farawo amwishura ati: «Ejo.» Musa aca avuga ati: «Bizoba nk’uko ubivuze, kugira umenye ko ata muntu ariho angana na Yehova Imana yacu+. 11 Ibikere bizoja kure yawe, bive mu mazu yawe, ku basuku bawe no ku bantu bawe. Bizosigara mu ruzi Nili gusa+.»
12 Musa na Aroni baca bava kwa Farawo, maze Musa atakambira Yehova kugira akureho ibikere yari yateje Farawo+. 13 Yehova aca akora ivyo Musa amusavye, ibikere bitangura gupfira mu mazu, ku mbuga no mu gahinga. 14 Baraheza begeranya ivyo bikere, bivamwo ibirundo vyinshi cane. Igihugu gica gitangura kunuka. 15 Farawo abonye ko habaye agahengwe, aca akomantaza umutima wiwe+, yanka kwumviriza Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabivuze.
16 Yehova rero abwira Musa ati: «Barira Aroni uti: “Fata inkoni yawe ukubite umukungugu wo hasi, na wo uca uhinduka imibu mu gihugu cose ca Misiri.”» 17 Baca bagira gutyo nyene. Aroni aduza ya nkoni yiwe ayikubita umukungugu wo hasi, imibu ica ija ku bantu no ku bikoko. Umukungugu wose wo hasi uca uhinduka imibu mu gihugu cose ca Misiri+. 18 Ba baherezi bakora ivy’amageza bagerageza kugira nk’ivyo nyene, barondera kuzana imibu bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+, ariko birabananira. Iyo mibu iguma ku bantu no ku bikoko. 19 Abo baherezi bakora ivy’amageza baca babwira Farawo bati: «Ni urutoke rw’Imana+!» Ariko Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyabumviriza nk’uko Yehova yari yabivuze.
20 Yehova aca abwira Musa ati: «Uzozinduke kare mu gitondo uje guhura na Farawo igihe azoba amanutse ku ruzi Nili, maze umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*. 21 Nutabarekura, nzoguteza ibibugu* mwe n’abasuku bawe n’abantu bawe, kandi bizokwinjira no mu mazu yawe. Amazu y’Abanyamisiri azokwuzuramwo ibibugu, vyuzure n’aho bazoba bahagaze hose. 22 Kuri uwo musi, intara ya Gosheni abantu banje babamwo nzoyitandukanya n’ahandi. Nta kibugu kizobonekayo+. Uzoca umenya ko jewe Yehova ndi aha muri iki gihugu+. 23 Nzoshiraho itandukaniro hagati y’abantu banje n’abantu bawe, kandi ivyo uzobibona ejo aho bukera.’”»
24 Yehova aca abigenza ukwo nyene. Imigwi mininiminini y’ibibugu itangura gushwara mu nzu ya Farawo, mu mazu y’abasuku biwe no mu gihugu cose ca Misiri+. Igihugu kirayogera kubera ivyo bibugu+. 25 Amaherezo, Farawo ahamagara Musa na Aroni, ababwira ati: «Genda mushikanire ibimazi Imana yanyu aha mu gihugu.» 26 Musa amwishura ati: «Ntitwokwubahuka gukora ico kintu, kuko twohava dushikanira Yehova Imana yacu ibimazi bisesema Abanyamisiri+. Hamwe twoshikana ibimazi bibasesema kandi tukabigirira imbere yabo, ntibohava batwicisha amabuye? 27 Tuzogira urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, duheze dushikanire ibimazi Yehova Imana yacu nk’uko yabitubwiye+.»
28 Farawo aca avuga ati: «Nzobareka muje mu gahinga gushikanira ibimazi Yehova Imana yanyu, ariko ntimuzoje kure cane. Nimunsabire Imana yanyu inkurireho+ ibi bibugu.» 29 Musa amwishura ati: «Ehe ndagiye kandi ndaza kwinginga Yehova. Ejo ibibugu bizova kuri Farawo, ku basuku biwe no ku bantu biwe. Mugabo Farawo ntasubire kuduhenda* ngo ararungika abantu gushikanira ibimazi Yehova Imana ariko ntabigire+.» 30 Musa aca ava kwa Farawo, araheza yinginga Yehova+. 31 Yehova aca akora ivyo Musa amusavye, vya bibugu bica biva kuri Farawo, ku basuku biwe no ku bantu biwe. Nta na kimwe casigaye. 32 Ariko Farawo yongera gukomantaza umutima wiwe, ntiyarekura Abisirayeli.
9 Yehova rero abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo, umubwire uti: “Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*+. 2 Ariko niwanka kubarekura ukabagumya, 3 Yehova azoca ateza ivyago ibitungwa vyawe biri mu gahinga. Ikiza gikomeye+ kizotera amafarasi, indogobwa, ingamiya, inka, impene hamwe n’intama. 4 Yehova azoshiraho itandukaniro hagati y’ibitungwa vy’Abisirayeli n’ivy’Abanyamisiri. Nta gitungwa na kimwe mu vy’Abisirayeli kizopfa+.’”» 5 Yehova agirako ashinga igihe bizoberako, avuga ati: «Ejo jewe Yehova nzokora ico kintu mu gihugu.»
6 Bukeye, Yehova aca abigenza ukwo nyene. Ibitungwa vy’ubwoko bwose vy’Abanyamisiri bitangura gupfa+, ariko nta na kimwe capfuye mu bitungwa vy’Abisirayeli. 7 Farawo abajije amakuru, asanga nta gitungwa na kimwe c’Abisirayeli capfuye. Ariko Farawo abandanya gukomantaza umutima, ntiyarekura Abisirayeli+.
8 Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: «Nimwuzuze amashi yanyu umunyota wo mw’ifuru*, hanyuma Musa awuterere mu kirere imbere ya Farawo. 9 Uzoca uhinduka umukungugu mu gihugu cose ca Misiri, kandi uzotuma abantu n’ibitungwa bafatwa n’ibihute bituragurika mu gihugu cose ca Misiri.»
10 Baca batora umunyota wo mw’ifuru* maze bahagarara imbere ya Farawo. Musa araheza awuterera mu kirere, uca uhinduka ibihute bituragurika ku bantu no ku bitungwa. 11 Abaherezi bakora ivy’amageza ntibashobora kuza imbere ya Musa, kuko bari bafashwe n’ibihute cokimwe n’abandi Banyamisiri bose+. 12 Mugabo Yehova areka Farawo arakomantaza umutima wiwe, ntiyumvira Musa na Aroni nk’uko Yehova yari yabibwiye Musa+.
13 Yehova rero abwira Musa ati: «Uzozindukire kwa Farawo maze umubwire uti: “Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: ‘Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*. 14 Ubu rero ngira ndaguteze ivyago vyanje vyose, ndabiteze abasuku bawe n’abantu bawe kugira umenye yuko kw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+. 15 Iyo nshaka ubu mba maze kubangura ukuboko nkaguteza ivyago bikomeye mwe n’abantu bawe, kandi uba warazimanganye kw’isi. 16 Mugabo iki ni co catumye mba ndakuretse: ni ukugira ndakwereke ububasha bwanje no kugira izina ryanje ryamamare kw’isi yose+. 17 Ariko raba uracagira amanyama ku bantu banje, nturabareka ngo bagende. 18 Ubu rero, ejo nk’aya masaha nzogwisha urubura rukaze cane, urubura rutigeze ruboneka kuva Misiri ibayeho gushika n’ubu. 19 Bwira abantu rero bugamike ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyawe vyose biri mu gahinga. Umuntu wese n’igitungwa cose urubura ruzosanga mu gahinga bitari mu nzu bizopfa.’”»
20 Abasuku ba Farawo bose batinye ijambo rya Yehova, baciye banyaruka kwinjiza mu nzu abakozi babo n’ibitungwa vyabo. 21 Mugabo abatitayeho ijambo rya Yehova, barekeye mu gahinga abakozi babo n’ibitungwa vyabo.
22 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeza mw’ijuru kugira urubura rugwe ku gihugu cose ca Misiri+, ku bantu, ku bikoko no ku vyatsi vyose vyo mu gahinga+.» 23 Musa aca aramvura inkoni yiwe ayerekeza mw’ijuru. Yehova aca arungika imituragaro n’urubura, umuriro* na wo ukorokera kw’isi. Yehova aguma agwisha urubura ku gihugu ca Misiri. 24 Hagwa urubura rurimwo imiravyo ikomeye*. Urwo rubura rwari rukaze cane. Nta rubura nk’urwo rwari bwigere rugwa muri ico gihugu kuva Misiri yakabaho+. 25 Nuko rutikiza ibintu vyose vyari mu gahinga mu gihugu cose ca Misiri, ushizemwo abantu n’ibikoko. Rutikiza ivyatsi vyose n’ibiti vyose+. 26 Mu ntara ya Gosheni gusa, aho Abisirayeli baba, ni ho honyene rutaguye+.
27 Farawo aca atumako Musa na Aroni, ababwira ati: «Ubu hoho nacumuye. Yehova ari mu kuri*, jewe n’abantu banje ni twe turi mu makosa. 28 Nimwinginge Yehova ahagarike iyi mituragaro n’uru rubura, nanje nzoca ndabarekura mugende. Ntimuzobandanya kuguma ng’aha.» 29 Musa amwishura ati: «Nkimara gusohoka igisagara nca ninginga Yehova. Imituragaro n’urubura bica bihagarara kugira umenye yuko isi ari iya Yehova+. 30 Ariko n’ubu ndazi ko wewe n’abasuku bawe mutaza gutinya Yehova Imana.»
31 Igiterwa c’ilino* na sayiri* vyari vyononekaye kubera urubura, kuko sayiri yari iyangitse, ilino na ryo rikaba ryari rishuritse. 32 Mugabo ibiterwa vy’ingano* ntivyari vyononekaye kuko vyovyo vyera bitevye. 33 Musa aca ava kwa Farawo asohoka igisagara, araheza atakambira Yehova. Ya mituragaro na rwa rubura bica birahagarara, imvura na yo irahita+. 34 Farawo abonye ko imvura n’urubura be n’imituragaro vyahagaze, aca yongera gucumura, akomantaza umutima wiwe+, we hamwe n’abasuku biwe. 35 Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyarekura Abisirayeli nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Musa+.
10 Maze Yehova abwira Musa ati: «Genda kwa Farawo, kuko namuretse agakomantaza umutima wiwe hamwe n’abasuku biwe+, kugira nkorere ibimenyetso vyanje imbere yiwe+. 2 Nabigize kandi kugira uzomenyeshe abana n’abuzukuru bawe ingene nahanye Abanyamisiri hamwe n’ibimenyetso nakoreye muri bo+. Emwe, muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova.»
3 Musa na Aroni baca baja kwa Farawo, bamubwira bati: «Yehova Imana y’Abaheburayo avuze ati: “Uzogeza ryari kutanyumvira+? Rekura abantu banje kugira baje kunsenga*. 4 Ukaguma wanka kubarekura, ejo nzoca ndungika inzige mu gihugu cawe. 5 Zizopfuka igihugu cose ku buryo ata wuzoshobora kubona hasi. Zizorya ibintu vyose urubura rwabasigarije, zirye n’ibiti vyose biriko biramera mu gahinga+. 6 Zizokwuzura amazu yawe, amazu y’abasuku bawe n’amazu yose yo mu Misiri. Kizoba ari ikintu ba so na ba sokuru batigeze babona kuva babaye muri iki gihugu gushika n’uyu musi+.”» Musa aca arasohoka ava kwa Farawo.
7 Abasuku ba Farawo baca bamubwira bati: «Uyu mugabo azotubangamira* gushika ryari? Rekura abo bantu baje gusenga Yehova Imana yabo. Aho nturabona ko igihugu ca Misiri cayogeye?» 8 Nuko bagarukana Musa na Aroni kwa Farawo, na we ababwira ati: «Genda musenge Yehova Imana yanyu. Ariko ndakeneye kumenya abazogenda.» 9 Musa amwishura ati: «Tuzojana n’urwaruka rwacu hamwe n’abageze mu zabukuru, abahungu bacu n’abakobwa bacu. Tuzojana kandi n’intama zacu n’inka zacu+ kuko dufise umusi mukuru wa Yehova+.» 10 Farawo ababwira ati: «Nkagenda ndabaretse ngo mujane n’abana banyu, muzoce mumenya ko Yehova ari kumwe namwe+! Biraboneka ko hari ikintu kibi mushaka gukora. 11 Ndavyanse! Abagabo gusa ni bo bazogenda gusenga Yehova, kuko ari vyo mwasavye.» Baca barabirukana, bava kwa Farawo.
12 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ramvurira ukuboko kwawe hejuru ya Misiri kugira inzige zitere igihugu cose, zirye ivyatsi vyose urubura rwasigaje.» 13 Ubwo nyene Musa aca aramvurira inkoni yiwe hejuru ya Misiri. Yehova aca azana umuyaga wo mu buseruko, umara uwo murango wose n’ijoro ryose uhuhutira kuri ico gihugu. Bukeye, uwo muyaga uca uzana inzige. 14 Nuko zishwara igihugu cose ca Misiri, zigwa ahantu hose mu karere k’ico gihugu+. Zari ziteye ubwoba cane+. Nta nzige zingana gutyo zari bwigere zibaho kandi nta n’izosubiriye kubaho. 15 Emwe zirakubita hasi hose harazima, igihugu cose gicika umwijima kubera zo. Ziraheza zirya ivyatsi vyose vyo mu gihugu n’ivyamwa vyose vyo ku biti urubura rwari rwasigaje. Nta babi ritoto ryasigaye ku biti canke ku vyatsi mu gihugu cose ca Misiri.
16 Farawo aca atumako ningoga Musa na Aroni, ababwira ati: «Nacumuye kuri Yehova Imana yanyu no kuri mwebwe. 17 Ubu rero ndabinginze mumbabarire iri rimwe gusa, munyingingire Yehova Imana yanyu ankureko iki cago.» 18 Aca arasohoka* ava kwa Farawo, araheza atakambira Yehova+. 19 Yehova aca ahindura inzira y’uwo muyaga, ucika umuyaga ukomeye wo mu burengero, uraheza utwara za nzige zose uzisuka mu kiyaga Gitukura. Nta ruzige na rumwe rwasigaye mu karere kose ka Misiri. 20 Mugabo Yehova areka Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe+, ntiyarekura Abisirayeli.
21 Yehova rero abwira Musa ati: «Ramvura ukuboko kwawe ukwerekeze mw’ijuru kugira umwijima utwikire igihugu cose ca Misiri, umwijima w’umuzitanya umuntu yoshobora gukorakora.» 22 Ubwo nyene Musa aca aramvura ukuboko kwiwe akwerekeza mw’ijuru, umwijima w’umuzitanya uca umara imisi itatu utwikiriye igihugu cose ca Misiri+. 23 Abanyamisiri bamara imisi itatu ata wushobora kubona uwundi, ata n’umwe ashobora kuva muhira iwe. Ariko mu mihana yose y’Abisirayeli harabona+. 24 Farawo aca ahamagara Musa, amubwira ati: «Genda musenge Yehova+. Intama zanyu n’inka zanyu ni vyo bizoguma ng’aha, ariko abana banyu murashobora kujana.» 25 Musa amwishura ati: «Wewe nyene uzoduha* ibitungwa dutangako ibimazi n’amashikanwa aturirwa, natwe tuzobishikanira Yehova Imana yacu+. 26 Ibitungwa vyacu na vyo nyene tuzobitwara. Nta gitungwa* na kimwe kizosigara ng’aha, kuko ari vyo tuzokuramwo ivyo dushikanira Yehova Imana yacu, kandi ntidushobora kumenya ivyo tuzoshikanira Yehova tutarashikayo.» 27 Mugabo Yehova areka Farawo abandanya gukomantaza umutima wiwe, ntiyemera kurekura Abisirayeli+. 28 Farawo aca amubwira ati: «Mva mu maso! Ntuze uhirahire ngo ugaruke imbere yanje, kuko umusi wagarutse uzoca upfa.» 29 Musa aca amwishura ati: «Emwe urantega! Sinzogaruka imbere yawe.»
11 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ngira nteze ikindi cago Farawo na Misiri. Inyuma y’aho azoca abarekura mugende+. Kandi ntazobarekura gusa, ahubwo azobirukana+. 2 Bwira abantu rero uti: “Umugabo wese n’umugore wese nasabe umubanyi wiwe ibintu vy’ifeza n’inzahabu+.”» 3 Nuko Yehova atuma Abanyamisiri bagirira impuhwe abantu biwe. Kandi Musa yari asigaye yubahwa cane mu Misiri, haba mu basuku ba Farawo no mu Banyamisiri.
4 Musa aca abwira Farawo ati: «Yehova avuze ati: “Nka sasita z’ijoro* ndaza guca mu Misiri+. 5 Abana bose b’imfura bo mu Misiri bazopfa+, uhereye ku mfura y’umwami Farawo gushika ku mfura y’umusukukazi mutoyi*, kandi n’ibitungwa vyose vyavutse ubwa mbere* bizopfa+. 6 Mu Misiri hose hazoba amaborogo akomeye atari bwigere abaho kandi atazosubira kubaho+. 7 Ariko rero, nta n’imbwa izokuga ibonye Abisirayeli canke ibitungwa vyabo, kugira mumenye ko Yehova ashoboye gushiraho itandukaniro hagati y’Abanyamisiri n’Abisirayeli+.” 8 Abasuku bawe bose bazoza aho ndi banyunamire, bavuge bati: “Nimugende mwe n’abantu bawe+!” Nanje nzoca ngenda.» Musa aca arasohoka, ava kwa Farawo yashavuye cane.
9 Maze Yehova abwira Musa ati: «Farawo ntazobumviriza+, kugira ibitangaro vyanje bigwire mu Misiri+.» 10 Musa na Aroni bakoreye ivyo bitangaro vyose imbere ya Farawo+, ariko Yehova yarareka Farawo agakomantaza umutima, ntarekure Abisirayeli ngo bave mu gihugu ciwe+.
12 Yehova abwira Musa na Aroni bari mu Misiri ati: 2 «Uku kwezi ni kwo muzoherako mu guharura amezi. Kuzoba ukwa mbere mu mezi agize umwaka+. 3 Bwira ishengero ryose rya Isirayeli uti: “Ku musi ugira cumi w’uku kwezi, umuryango wose uze witorere intama+, intama imwimwe ku rugo. 4 Nimba mu rugo iwanyu muri bake ku buryo mutomara iyo ntama, muzoca muyisangira n’ababanyi ba hafi, muyirire mu nzu iwanyu. Muzokwisunga igitigiri c’abantu mufise n’ivyo umwe wese ashobora gufungura. 5 Iyo ntama ikwiye kuba ari isuguru imaze umwaka umwe kandi itagira akanenge+. Mushobora gutora umwagazi w’intama canke w’impene. 6 Muze muwubike gushika ku musi ugira 14 w’uku kwezi+, kandi umuryango wose wo mw’ishengero rya Isirayeli uzowukerere izuba rirenze*+. 7 Baze batore amaraso makeyi bayasige ku bishimaryango uko ari bibiri no ku gice co hejuru c’umuryango w’inzu bazoriramwo uwo mwagazi+.
8 Bategerezwa kurya izo nyama muri iryo joro nyene+. Baze bazotse* hanyuma bazikoze imikate itarimwo umwambiro+ n’imboga zirura+. 9 Ntihaze hagire inyama zawo murya ari mbisi canke zitetse mu mazi. Ahubwo muzozotse, umutwe uri kumwe n’amaguru* be n’ivyo mu nda. 10 Ntihaze hagire inyama zawo zirara. Izisigaye muzoce muziturira+. 11 Muzozirya mutubitse imikanda* yanyu, mwambaye ibirato*, mufise n’inkoni mu minwe. Muzozirya munyarutsa. Ni Pasika* ya Yehova. 12 Nzoca mu gihugu ca Misiri muri iryo joro maze nice imfura zose zo muri ico gihugu, kuva ku muntu gushika ku gitungwa+. Nzoshitsa urubanza naciriye imana zose za Misiri+. Ndi Yehova. 13 Amaraso azoba ikimenyetso cerekana amazu murimwo. Ninabona aho ayo maraso ari nzoca ndaharengana. Nta cago kizobazako ninaza guhana igihugu ca Misiri+.
14 Muzokwame mwibuka uwo musi, muwuhimbaze nk’umusi mukuru wa Yehova uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana: ni itegeko rizokwamaho. 15 Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. Ku musi wa mbere muze mukure umwambiro* mu mazu yanyu. Umuntu wese azorya ikintu kirimwo umwambiro kuva ku musi wa mbere gushika ku musi ugira indwi azoca yicwa*. 16 Ku musi wa mbere no ku musi ugira indwi muze mugire ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora kuri iyo misi+. Muzotegura gusa ivyo umuntu akeneye gufungura.
17 Muzogume mwubahiriza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, kuko kuri uwo musi ari ho nzobakura mu Misiri mwese*. Muzogume muhimbaza uwo musi mukuru uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana: ni itegeko rizokwamaho. 18 Muzorya imikate itarimwo umwambiro kuva ku mugoroba w’umusi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere gushika ku mugoroba w’umusi ugira 21 w’ukwo kwezi+. 19 Nta mwambiro ukwiye kuboneka mu mazu yanyu muri iyo misi indwi. Umuntu wese azorya ikintu kirimwo umwambiro, yaba umunyamahanga canke imvukira+, ategerezwa gupfa*+. 20 Ntimuzorye ikintu na kimwe kirimwo umwambiro. Muzorya imikate itarimwo umwambiro mu ngo zanyu zose.”»
21 Ubwo nyene Musa aca ahamagara abashingantahe bo muri Isirayeli+, ababwira ati: «Nimugende mwitorere ibitungwa* bikiri bito vy’imiryango yanyu, mukerere ibimazi vya Pasika. 22 Hanyuma muzofate agakama k’uduti twa ezobu, mugakoze mu maraso ari mw’ibesani, muce muyamijagira ku gice co hejuru c’umuryango no ku bishimaryango bibiri. Nta n’umwe akwiye kuva mu nzu iwe gushika mu gitondo. 23 Yehova niyaca mu gihugu gutikiza Abanyamisiri akabona ayo maraso ku gice co hejuru c’umuryango no ku bishimaryango bibiri, Yehova azoca arengana uwo muryango. Ntazoreka ico cago c’urupfu* ngo cinjire mu mazu yanyu+.
24 Muzokwame muhimbaza uwo musi mukuru: ni itegeko ryamaho kuri mwebwe no ku bana banyu+. 25 Nimwashika mu gihugu Yehova azobaha nk’uko yabivuze, muzokwame muhimbaza uwo musi mukuru+. 26 Abana banyu nibababaza bati: “Uyu musi mukuru usobanura iki+?” 27 Muze mubishure muti: “Ni ikimazi ca Pasika ya Yehova, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli igihe twari mu Misiri. Ico gihe yarateje ivyago Abanyamisiri mugabo arokora imiryango yacu.”»
Abantu baca barunama, mu maso habo hashika hasi. 28 Nuko Abisirayeli baragenda, bakora ivyo Yehova yari yategetse Musa na Aroni+. Bakora gutyo nyene.
29 Hageze sasita z’ijoro*, Yehova aca yica abana bose b’imfura bo mu Misiri+, kuva ku mfura y’umwami Farawo gushika ku mfura y’imbohe yari mu gasho. Yica kandi n’ibitungwa vyose vyavutse ubwa mbere+. 30 Maze Farawo aravyuka muri iryo joro hamwe n’abasuku biwe bose n’abandi Banyamisiri bose. Mu Misiri hari amaborogo menshi, kuko ata nzu n’imwe itarimwo umuntu yapfuye+. 31 Muri iryo joro nyene aca atumako Musa na Aroni+, ababwira ati: «Genda mumvire mu bantu, mwe n’abandi Bisirayeli. Genda musenge Yehova nk’uko mwabivuze+. 32 N’ibitungwa vyanyu shorera mujane nk’uko mwabivuze+, ariko mutegerezwa kugenda mumpezagiye.»
33 Abanyamisiri baca batangura guhutagiza Abisirayeli ngo bave mu gihugu ningoga+, kuko bavuga bati: «Erega ni nk’aho twese twamaze gupfa+!» 34 Nuko abantu batwara igikandu cabo kitarajamwo umwambiro, bagenda bikoreye ku bitugu ibikono* bacumbamwo imikate, bizingiriye mu mpuzu. 35 Abisirayeli bakora nk’uko Musa yari yababwiye, basaba Abanyamisiri ibintu vy’ifeza n’inzahabu hamwe n’impuzu+. 36 Yehova atuma Abanyamisiri bagirira impuhwe abantu biwe ku buryo babaha ivyo babasavye vyose, bagenda banyaze Abanyamisiri+.
37 Abisirayeli rero bava i Ramesesi+ baja i Sukoti+. Bari nk’abagabo* 600.000 udashizemwo abana+. 38 Bagenda bajanye n’isinzi rinini ry’abanyamahanga*+ hamwe n’inka, impene n’intama. Emwe ibitungwa vyinshi cane. 39 Batangura rero kwotsa ca gikandu bari bakuye mu Misiri, bagikoramwo imikate yiburungushuye itarimwo umwambiro. Nta mwambiro warimwo kuko Abanyamisiri bari babirukanye gihutihuti, kandi ntibari bateguye ivyo baza kurira ku nzira+.
40 Abisirayeli bari bamaze imyaka 430+ mu Misiri+. 41 Iyo myaka 430 iheze, kuri uwo musi nyene, isinzi ryose* ry’abantu ba Yehova riva mu Misiri. 42 Ni ijoro Abisirayeli bazokwama bibuka ukuntu Yehova yabakuye mu Misiri. Iryo joro Abisirayeli bose bazokwama baninahaza Yehova uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana+.
43 Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: «Iri ni ryo tegeko rya Pasika: nta munyamahanga azorya ku kimazi ca Pasika+. 44 Ariko nimba hariho umuntu afise umushumba w’umugabo yaguze amahera, ategerezwa kumugenyera+. Aho ni ho gusa ashobora kukiryako. 45 Umwimukira n’umukozi w’umucangero ntibashobora kukiryako. 46 Uwo mwagazi mutegerezwa kuwurira mu nzu imwe. Nta nyama zawo mukwiye gusohokana hanze, kandi ntihaze hagire igufa na rimwe ryawo muvuna+. 47 Ishengero rya Isirayeli ryose ritegerezwa guhimbaza Pasika. 48 Nimba hari umunyamahanga aba muri mwebwe agomba guhimbaza Pasika ya Yehova, abahungu bose bo mu rugo iwe bategerezwa kugenyerwa. Aho ni ho gusa ashobora kuyihimbaza, kandi azoca aba nk’imvukira. Ariko nta mugabo n’umwe atagenyerewe akwiye kurya ku mwagazi wa Pasika+. 49 Itegeko ni rimwe ku mvukira no ku munyamahanga aba muri mwebwe+.»
50 Nuko Abisirayeli bose bakora ivyo Yehova yari yategetse Musa na Aroni. Bakora gutyo nyene. 51 Kuri uwo musi nyene, Yehova akura Abisirayeli bose* mu gihugu ca Misiri.
13 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Nshirira ku ruhande* abahungu bose b’imfura muri Isirayeli. Umuhungu wese w’imfura n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere* ni rwanje+.»
3 Musa aca abwira abantu ati: «Muzokwame mwibuka uyu musi muviriyeko mu Misiri+, igihugu mwabayemwo muri abashumba*, kuko Yehova yabakujeyo ukuboko kwiwe gukomeye+. Ntimuze murye ikintu na kimwe kirimwo umwambiro. 4 Uyu musi nyene muri uku kwezi kwa Abibu* muraza kuva mu Misiri+. 5 Imana yararahiye ba sokuruza banyu ko izobaha igihugu+ c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abahiwi n’Abayebusi+. Ni igihugu gitemba amata n’ubuki+. Yehova rero niyamara kubashikanayo, muzokwame muhimbaza uyu musi mukuru muri uku kwezi. 6 Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+, kandi ku musi ugira indwi muzohimbaza umusi mukuru wa Yehova. 7 Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. Ntihaze hagire ikintu kirimwo umwambiro kiboneka iwanyu+. Nta mwambiro* ukwiye kuboneka mu karere kanyu kose. 8 Kuri uwo musi, muze musigurire abana banyu muti: “Ibi turiko tubikora kubera ivyo Yehova yatugiriye igihe twava mu Misiri+.” 9 Uwo musi mukuru uzobabera nk’ikimenyetso ku maboko yanyu no mu ruhanga rwanyu*+ kugira itegeko rya Yehova ryame mu kanwa kanyu, kuko Yehova yabakuye mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye. 10 Mutegerezwa kwubahiriza iryo tegeko buri mwaka+, igihe nashinze kigeze.
11 Yehova niyabashikana mu gihugu ca Kanani nk’uko yabarahiye akarahira na ba sokuruza banyu ko azokibaha+, 12 muze muhebere Yehova umuhungu wese w’imfura n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere*. Ikigabo cose kivutse ubwa mbere ni ica Yehova+. 13 Indogobwa yose ivutse ubwa mbere muze muyicunguze intama, ariko nimutayicungura muze muyivune izosi. Kandi muze mucungure umuhungu wese w’imfura mu bana banyu+.
14 Abahungu banyu nibababaza bati: “Ibi bisobanura iki?” Muze mubishure muti: “Yehova yadukuye mu gihugu ca Misiri akoresheje ukuboko gukomeye, igihugu twabayemwo turi abashumba*+. 15 Farawo yagumye akomantaza umutima wiwe aranka kuturekura+, Yehova aca yica imfura zose zo mu Misiri n’ibitungwa vyose vyavutse ubwa mbere+. Ni co gituma turiko turashikanira Yehova igitungwa cose c’ikigabo cavutse ubwa mbere tukongera tugacungura imfura zose mu bahungu bacu.” 16 Uwo musi mukuru uzobabera nk’ikimenyetso ku maboko yanyu no mu ruhanga rwanyu*+, kuko Yehova yadukuye mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye.»
17 Igihe Farawo yarekura Abisirayeli ngo bagende, Imana ntiyabacishije mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya naho ari ho hari hafi. Yabigize gutyo kuko yavuga iti: «Hamwe aba bantu bobona intambara, bohava bahindura ivyiyumviro bagasubira mu Misiri.» 18 Nuko Imana izungurutsa Abisirayeli, ibacisha mu nzira yo mu bugaragwa hafi y’ikiyaga Gitukura+. Kandi Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri batonze nk’abagiye ku rugamba. 19 Musa ajana kandi amagufa ya Yozefu, kuko Yozefu yari yararahije bene Isirayeli ashimitse ati: «Imana ntizobura kubitwararika, muze mujane amagufa yanje muyakure ino+.» 20 Baraheza bava i Sukoti maze bakambika i Etamu, aho ubugaragwa butangurira.
21 Ku murango Yehova yagendera imbere yabo mu nkingi y’igicu kugira abereke inzira+, mw’ijoro na ho akagendera mu nkingi y’umuriro kugira abamurikire. Ivyo vyatuma bagenda ijoro n’umurango+. 22 Iyo nkingi y’igicu ntiyava imbere yabo ku murango, kandi n’iyo nkingi y’umuriro ntiyahava mw’ijoro+.
14 Nuko Yehova abarira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli basubire inyuma, bashinge amahema imbere ya Pihahiroti hagati ya Migidoli n’ikiyaga, aharabana n’i Bayali-Zefoni+. Aho ni ho muzoshinga amahema hafi y’ikiyaga. 3 Maze Farawo azovuga ku bijanye n’Abisirayeli ati: “Bariko barajuragirika. Babuze iyo bava n’iyo baja mu bugaragwa.” 4 Nzoreka Farawo akomantaze umutima wiwe+, kandi azoboma inyuma. Nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo n’igisoda ciwe cose+, kandi Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri ko jewe ndi Yehova+.» Baca bagira gutyo nyene.
5 Mu nyuma, bamenyesha umwami wa Misiri ko Abisirayeli bari bahunze. Ubwo nyene Farawo n’abasuku biwe baca barahindura ivyiyumviro ku bijanye n’Abisirayeli+, bavuga bati: «Ibi twakoze ni ibiki? Kuki twaretse Abisirayeli bakagenda, ntibabandanye kudukorera?» 6 Aca ategeka ko bategura imikogote yiwe maze ajana n’ingabo ziwe+. 7 Afata imikogote 600 nyayonyayo n’iyindi mikogote yose yo mu Misiri, kandi umwe wose wariko abarwanyi. 8 Nuko Yehova areka Farawo umwami wa Misiri akomantaza umutima wiwe maze yoma inyuma Abisirayeli, kandi na bo bariko bagenda bitekaniye*+. 9 Abanyamisiri baca boma inyuma Abisirayeli+. Imikogote yose ya Farawo, abasoda biwe barwanira ku mafarasi n’ingabo ziwe zose bagira babashikire. Ico gihe Abisirayeli bari bakambitse iruhande y’ikiyaga, hafi ya Pihahiroti, aharabana na Bayali-Zefoni.
10 Farawo n’ingabo ziwe begereje, Abisirayeli bunamura amaso maze babona ko Abanyamisiri babakurikiye. Baca batekerwa n’ubwoba, batangura gutakambira Yehova+. 11 Babwira Musa bati: «Mbega mu Misiri nta mva zariyo, aho watuzana gupfira ng’aha mu gahinga+? Wadukuriye iki mu Misiri? 12 Ibi si bimwe twaguma tukubwira tukiri mu Misiri duti: “Twirekere dukorere Abanyamisiri?” Erega twopfuma dukorera Abanyamisiri hako dupfira mu bugaragwa+.» 13 Musa aca abishura ati: «Ntimugire ubwoba+. Nimwihagararire gusa, murabe ingene Yehova abarokora uno musi+. Kuko aba Banyamisiri mubona uno musi, mutazokwigera musubira kubabona+. 14 Yehova ubwiwe ni we aza kubarwanira+, mwe muragume mwihoreye gusa.»
15 Yehova aca abwira Musa ati: «Kubera iki uguma undirira? Bwira Abisirayeli basambure amahema maze babandanye urugendo. 16 We duza inkoni yawe, uramvurire ukuboko hejuru y’ikiyaga ugicemwo kubiri, kugira Abisirayeli bace hagati muri co kw’isi yumutse. 17 Nanje nzoreka Abanyamisiri bakomantaze imitima maze babakurikire. Nzokwihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo, igisoda ciwe cose, imikogote yiwe y’intambara n’abasoda biwe barwanira ku mafarasi+. 18 Maze Abanyamisiri bazomenya vy’ukuri ko ndi Yehova ninihesha ubuninahazwa biciye kuri Farawo, imikogote yiwe y’intambara n’abasoda biwe barwanira ku mafarasi+.»
19 Umumarayika w’Imana y’ukuri+ yariko agendera imbere y’Abisirayeli aca arahava, aja inyuma yabo. Inkingi y’igicu na yo yari imbere yabo ica yimukira inyuma yabo, ihagararaho+. 20 Iyo nkingi ica ija hagati y’Abanyamisiri n’Abisirayeli+. Ku ruhande rumwe yari igicu c’umwiza w’umuzitanya, ku rundi na ho ikamurika mw’ijoro+. Kandi Abanyamisiri ntibigeze begera Abisirayeli ijoro ryose.
21 Musa araheza aramvurira ukuboko hejuru y’ikiyaga+. Yehova aca asubiza inyuma ikiyaga akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko. Umara ijoro ryose uriko urahuhuta ku buryo amazi yigaburamwo kubiri+, haca haboneka isi yumutse hagati mu kiyaga+. 22 Nuko Abisirayeli baca hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+. Amazi yari ameze nk’uruhome iburyo n’ibubamfu bwabo+. 23 Abanyamisiri baca baboma inyuma. Amafarasi yose ya Farawo, imikogote yiwe y’intambara n’abasoda biwe barwanira ku mafarasi barabakurikira gushika hagati mu kiyaga+. 24 Buri mu guca*, Yehova atangura kurabira Abanyamisiri muri ya nkingi y’umuriro n’igicu+, aca atuma muri bo haduka akajagari. 25 Aguma akura amapine ku mikogote yabo ku buryo bayitwara vyanka. Abanyamisiri baca bavuga bati: «Duhunge ntitwegere Abisirayeli, kuko Yehova ariko arabarwanira. Ni we ariko araturwanya+.»
26 Yehova aca abwira Musa ati: «Ramvurira ukuboko hejuru y’ikiyaga, kugira amazi ateranire ku Banyamisiri, ku mikogote yabo no ku basoda babo barwanira ku mafarasi.» 27 Musa aca aramvurira ukuboko hejuru y’ikiyaga, hanyuma buri mu guca, ikiyaga gica gisubira uko cari kimeze. Abanyamisiri bagerageje guhunga, Yehova aca abakunkumurira hagati mu kiyaga+. 28 Nuko ya mazi aragaruka maze apfuka ya mikogote y’intambara, abasoda barwanira ku mafarasi na ba basoda bose ba Farawo bari bakurikiye Abisirayeli mu kiyaga+. Nta n’umwe muri bo yarokotse+.
29 Abisirayeli bobo baciye kw’isi yumutse hagati mu kiyaga+, kandi amazi yari ameze nk’uruhome iburyo n’ibubamfu bwabo+. 30 Kuri uyo musi, Yehova arokora Abisirayeli mu maboko y’Abanyamisiri+. Abisirayeli bibonera imivyimba y’Abanyamisiri irambaraye ku nkengera y’ikiyaga. 31 Bibonera kandi ububasha bukomeye* Yehova akoresheje mu kurwanya Abanyamisiri. Abantu baca batangura gutinya Yehova no kwizera Yehova na Musa umusavyi wiwe+.
15 Ico gihe Musa n’Abisirayeli baririmbira Yehova bati+:
«Reka ndirimbire Yehova, kuko ashizwe hejuru cane+.
Ifarasi n’uwuyigendesha yatereye mu kiyaga+.
2 Yehova* ni inkomezi zanje n’ubushobozi bwanje kuko yandokoye+.
Iyi ni yo Mana yanje, nanje nzoyihaya+; ni Imana ya data+, nanje nzoyishira hejuru+.
3 Yehova ni umurwanyi akomeye+. Yehova ni ryo zina ryiwe+.
4 Imikogote ya Farawo n’igisoda ciwe yatereye mu kiyaga+.
Abarwanyi biwe karuhariwe badwibiye mu kiyaga Gitukura+.
5 Amazi asuriranya yarabapfutse; bamanutse epfo ibwina nk’ibuye+.
6 Ukuboko kwawe kw’ukuryo, ewe Yehova, kuri n’ububasha bukomeye+.
Ukuboko kwawe kw’ukuryo, ewe Yehova, umwansi kurasavya.
7 Ubukuru bwawe buhebuje butuma ukubita hasi abakurwanya+.
Urungika ishavu ryawe rirurumba, rikabarigata nk’umuriro urigata ivyatsi.
8 Impemu zo mu mazuru yawe zatumye amazi arundana.
Yarahagaze nk’urugomero, atangira imipfunda y’ikiyaga.
Amazi asuriranya yarafatanye nk’ibarafu hagati mu kiyaga.
9 Abansi bari bavuze ngo: “Tuzoboma inyuma, tubahamvye!
Tuzogabura isahu gushika duhimvye!
Tuzosokora inkota, amaboko yacu azobatikiza+!”
11 Ni imana iyihe imeze nkawe ga Yehova+?
Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko uri mweranda bihebuje+?
Wewe ukwiye gutinywa no gushemezwa, wewe ukora ibitangaza+.
12 Waramvuye ukuboko kwawe kw’ukuryo, isi ica irabamira+.
13 Mu rukundo* rwawe, wayoboye abantu bawe wabohoje+.
Mu nkomezi zawe, uzobajana ubashikane ahantu heranda wibera.
Ababa i Kanani bose bazokwihebura+.
16 Bazotinya, baranduke umutima+.
Kubera ububasha bw’ukuboko kwawe, bazoguma badakakaza nk’ibuye,
gushika abantu bawe barenganye ewe Yehova,
17 Uzobazana ubashire ku musozi wawe*+,
ikibanza witeguriye ngo ukibemwo, ewe Yehova,
ahantu heranda amaboko yawe yateguye, ewe Yehova.
18 Yehova azoganza gushika ibihe bidahera+.
19 Amafarasi ya Farawo, imikogote yiwe n’abasoda biwe barwanira ku mafarasi bagize ngo barinjira mu kiyaga+,
Yehova aca abarekurirako amazi+.
Abisirayeli bobo baciye kw’isi yumutse hagati mu kiyaga+.»
20 Umuhanuzikazi Miriyamu, mushiki wa Aroni, aca atora akagoma. Abandi bagore bose baca baramukurikira, bagenda baravuza utugoma bongera batamba. 21 Miriyamu yaguma yitabira abagabo ati:
«Ririmbira Yehova, kuko ashizwe hejuru cane+.
Ifarasi n’uwuyigenderako yatereye mu kiyaga+.»
22 Mu nyuma, Musa akura Abisirayeli ku kiyaga Gitukura maze baja mu bugaragwa bwa Shura. Bagira urugendo rw’imisi itatu muri ubwo bugaragwa, mugabo ntibaronka amazi. 23 Nuko bashika i Mara*+, ariko ntibashobora kunywa amazi yaho kuko yarura. Ni co gituma aho hantu yahise Mara. 24 Abantu rero batangura kwidogera Musa+, bavuga bati: «None tunywa iki?» 25 Musa aca atakambira Yehova+, Yehova na we amwereka igiti. Musa aca agiterera mu mazi, ayo mazi aca araryoha.
Bakiri ng’aho, Imana ica ibashingira itegeko n’imvo yo kubacira urubanza yongera irabageza+. 26 Ivuga iti: «Nimwanyumviriza mwitonze jewe Yehova Imana yanyu, mugakora ibigororotse mu maso yanje, mukubahiriza amabwirizwa yanje kandi mukagamburuka amategeko yanje yose+, sinzobateza indwara n’imwe muri zimwe nateza Abanyamisiri+, kuko ari jewe Yehova ndabakiza+.»
27 Inyuma y’ivyo bashika i Elimu, ahari amariba y’amazi 12 n’ibigazi 70. Baca bashinga amahema ng’aho iruhande y’amazi.
16 Nuko ishengero ryose ry’Abisirayeli riva i Elimu, rirateba rishika mu bugaragwa bwa Sini+, hagati ya Elimu na Sinayi. Hari ku musi ugira 15 w’ukwezi kwa kabiri kuva bavuye mu Misiri.
2 Maze ishengero ryose ry’Abisirayeli ritangura kwidogera Musa na Aroni mu bugaragwa+. 3 Abisirayeli baguma bababwira ngo: «Iyo Yehova apfuma atwicira mu Misiri tuciteretse inkono z’inyama+, tukirya umukate tugahaga! None raba mwatuzanye muri ubu bugaragwa kugira mwicishe inzara iri shengero ryose+.»
4 Yehova aca abwira Musa ati: «Ngira ndabatiburire umukate uvuye mw’ijuru+. Umwe wese azosohoka atore ivyo akeneye ku musi ku musi+, kugira ndabageze ndabe ko bazogamburuka amategeko yanje+. 5 Ariko ku musi ugira gatandatu+, baze bateke ivyo bazoba begeranije. Bizoba ari incuro zibiri ivyo bahora batora ku yindi misi+.»
6 Musa na Aroni baca babwira Abisirayeli bose bati: «Ku mugoroba muraza kumenya vy’ukuri ko Yehova ari we yabakuye mu Misiri+. 7 Mu gitondo muzobona ubuninahazwa bwa Yehova, kuko Yehova yumvise ingene mumwidogera. Twebwe turi iki aho mutwidogera?» 8 Musa yongerako ati: «Yehova niyabaha inyama murya ku mugoroba, mu gitondo na ho akabaha umukate mukarya mugahaga, muzoca mumenya ko Yehova yumvise ingene mumwidogera. Twebwe turi iki? Ntimuriko mwidogera twebwe, ahubwo muriko mwidogera Yehova+.»
9 Maze Musa abarira Aroni ati: «Bwira ishengero ryose ry’Abisirayeli uti: “Nimuze imbere ya Yehova kuko yumvise imyidogo yanyu+.”» 10 Aroni agiheza kuvugana n’ishengero ryose ry’Abisirayeli, baca barahindukira baraba mu bugaragwa. Baza babona ubuninahazwa bwa Yehova burabonetse muri ca gicu+.
11 Yehova yongera kubwira Musa ati: 12 «Numvise imyidogo y’Abisirayeli+. Babwire uti: “Ku mugoroba* muraza kurya inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya umukate muhage+. Muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova Imana yanyu+.”»
13 Kuri uwo mugoroba haca haza inkware nyinshi, zipfuka ikambi y’Abisirayeli+, mu gitondo na ho urume rwari rwakikuje ikambi yose. 14 Urume rumaze guhera, hasi haca haboneka utuntu tw’intimbatimba ntoyi dukecagurika+, tungana n’udutete tw’urubura. 15 Abisirayeli ngo babibone, batangura kubazanya bati: «Ibi ni ibiki?» (kuko batari bazi ivyo ari vyo). Musa aca ababwira ati: «Ni umukate Yehova abagaburiye+. 16 Iri ni ryo tegeko Yehova atanze: “Umwe wese niyegeranye ivyo ashoboye kurya. Mutore ingero imwe ya omeri*+ ku muntu, mwisunze igitigiri c’abantu mufise mw’ihema.”» 17 Abisirayeli baca bagira gutyo nyene. Batangura kuvyegeranya, bamwe bagatora vyinshi, abandi bikeyi. 18 Babipimye kuri ya ngero ya omeri, uwaba yegeranije vyinshi yasanga ata bisagutseko, kandi n’uwegeranije bikeyi ntiyakehanirwa+. Umwe wese yasanga yegeranije ivyo ashoboye kurya.
19 Maze Musa ababwira ati: «Ntihagire ivyo muraza+.» 20 Mugabo ntibumvira Musa. Nuko bamwe barabiraza, bica bizamwo inyo bitangura kunuka. Musa aca arabashavurira. 21 Bama bavyegeranya imisi yose mu gitondo, umwe wese akegeranya ivyo ashoboye kurya. Izuba ritanguye kwaka cane vyaca bishonga.
22 Ku musi ugira gatandatu, begeranije ivyo barya ubigwije kabiri+, ni ukuvuga ingero zibiri za omeri ku muntu. Abakuru bose b’ishengero ry’Abisirayeli baca baraza babibwira Musa. 23 Na we ababwira ati: «Ivyo nyene ni vyo Yehova yavuze. Ejo uzoba ari umusi w’akaruhuko kuzuye*, isabato nyeranda ya Yehova+. Ivyo mushaka kwotsa mwotse, ivyo mushaka guteka na vyo muteke+, ibisigaye mubibike gushika mu gitondo.» 24 Baca barabibika gushika mu gitondo nk’uko Musa yabategetse, kandi ntivyigeze binuka canke ngo bizemwo inyo. 25 Maze Musa ababwira ati: «Ni vyo murya uno musi, kuko uyu musi ari isabato ya Yehova. Uyu musi nta vyo muza gusanga hanze. 26 Muzomara imisi itandatu mubitora, mugabo ku musi ugira indwi ni isabato+, ntibizoboneka.» 27 Ariko ku musi ugira indwi hari abagiye kubitora, mugabo ntibaronka namba.
28 Yehova aca abwira Musa ati: «Muzokwanka kwubahiriza amabwirizwa yanje n’amategeko yanje gushika ryari+? 29 Ntimwibagire ko jewe Yehova nabahaye isabato+. Ni co gituma ku wa gatandatu ndabaha ibifungurwa vy’imisi ibiri. Ku musi ugira indwi, umwe wese akwiye kuguma aho ari. Nta n’umwe akwiye kuva muhira iwe.» 30 Abantu baca batangura kwubahiriza isabato* ku musi ugira indwi+.
31 Ivyo bifungurwa Abisirayeli baca bavyita «manu*.» Vyarera nk’imbuto z’agati kitwa «gadi», kandi vyarasosa nk’udukate turimwo ubuki+. 32 Maze Musa avuga ati: «Iri ni ryo tegeko Yehova atanze: “Nimuvyuzuze ingero ya omeri, muheze muyibike uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana+, kugira ngo abana banyu baze babone ibifungurwa nabagaburiye mu bugaragwa igihe nari ndabakuye mu Misiri.”» 33 Musa aca abwira Aroni ati: «Tora umubindi uwushiremwo omeri yuzuye manu, uheze uwutereke imbere ya Yehova. Ni ikintu mutegerezwa kubika uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana+.» 34 Aroni aca atereka uwo mubindi imbere y’isandugu idasanzwe*+ kugira ubikwe, nk’uko nyene Yehova yari yabitegetse Musa. 35 Nuko Abisirayeli bamara imyaka 40 barya manu+, gushika bashitse mu gihugu kibamwo abantu+. Baguma barya manu gushika bashitse ku rubibe rw’igihugu ca Kanani+. 36 Omeri imwe ingana n’ic’icumi c’ingero ya efa*.
17 Ishengero ryose ry’Abisirayeli riva mu bugaragwa bwa Sini+, bagenda baragira urugendo rutoruto bisunze ivyo Yehova ababwira+. Baraheza bashinga amahema i Refidimu+, ariko basanga nta mazi yo kunywa ahari.
2 Abantu baca batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Duhe amazi yo kunywa!» Musa abishura ati: «Kubera iki munshwanira? Kubera iki muguma mugeza Yehova+?» 3 Ariko abantu bari banyotewe cane. Nuko baguma bidogera Musa+, bamubwira bati: «Wadukuriye iki mu Misiri? Washaka kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?» 4 Amaherezo, Musa atakambira Yehova ati: «Aba bantu ndabagire gute? Hasigaye gatoyi bakanyicisha amabuye!»
5 Yehova aca abwira Musa ati: «Rengana uje imbere y’abantu, ujane n’abashingantahe bakeyi bo muri Isirayeli, ugende ufise na ya nkoni wakubita mu ruzi Nili+. Yifate mu ntoke ugende. 6 Nza kuba mpagaze imbere yawe hariya ku gitandara i Horebu. Uze gukubita igitandara, na co gica kivamwo amazi hanyuma abantu banywe+.» Musa aca abikora gutyo nyene imbere y’abashingantahe bo muri Isirayeli. 7 Aho hantu aca ahita Masa*+ na Meriba*+ kubera Abisirayeli bamushwaniye no kubera bagerageje Yehova+, bakavuga ngo: «Yehova turi kumwe canke ntituri kumwe?»
8 Hanyuma Abamaleki+ baza gutera Abisirayeli i Refidimu+. 9 Musa aca abwira Yosuwa+ ati: «Tora abagabo ugende kurwanya Abamaleki. Ejo nzohagarara hejuru ku musozi mfise ya nkoni y’Imana y’ukuri mu kuboko.» 10 Yosuwa aca akora ivyo Musa amubwiye+, aja kurwanya Abamaleki. Musa, Aroni na Huru+ baca baduga hejuru ku musozi.
11 Igihe cose amaboko ya Musa yaba ari hejuru, Abisirayeli baranesha, ariko ayamanuye gusa, Abamaleki baca babanesha. 12 Amaboko ya Musa atanguye kuruha, baca bafata ibuye barishira munsi yiwe, na we aryicarako. Hanyuma Aroni na Huru basegura amaboko yiwe, umwe hirya uwundi hino. Amaboko yiwe aca aguma hejuru gushika izuba rirenze. 13 Nuko Yosuwa atsinda Abamaleki* akoresheje inkota+.
14 Maze Yehova abwira Musa ati: «Andika ibi mu gitabu kugira abantu baze bavyibuke*, kandi ubisubiriremwo Yosuwa uti: “Nzofuta Abamaleki kw’isi* ku buryo ata wuzosubira kubibuka+.”» 15 Musa aca yubaka igicaniro, acita Yehova-Nisi*. 16 Avuga ati: «Ko Abamaleki* bihanze kurwanya intebe y’Ubwami ya Yehova*+, Yehova na we azorwana na bo uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+.»
18 Hanyuma Yetiro umuherezi w’i Midiyani, sebukwe wa Musa+, yumva ibintu vyose Imana yari yarakoreye Musa n’abantu bayo b’Abisirayeli, ingene Yehova yari yarabakuye mu Misiri+. 2 Yetiro sebukwe wa Musa yari yarakiriye Zipora umugore wa Musa, igihe Musa yamurungika iwabo 3 ari kumwe n’abahungu biwe babiri+. Umuhungu umwe Musa yari yamwise Gerushomu*+, kuko yavuga ati: «Nabaye muri iki gihugu ndi kavamahanga.» 4 Uwundi yari yamwise Eliyezeri*, kuko yavuga ati: «Imana ya data ni umufasha wanje. Yarankijije inkota ya Farawo+.»
5 Nuko Yetiro sebukwe wa Musa, ari kumwe n’abahungu ba Musa n’umugore wiwe, aja kuraba Musa mu bugaragwa aho yari ashinze ihema ku musozi w’Imana y’ukuri+. 6 Maze atuma intumwa kuri Musa ati: «Jewe sobukwe Yetiro+, ndaje kukuraba ndi kumwe n’umugore wawe n’abahungu bawe babiri.» 7 Musa aca arasohoka aja gusanganira sebukwe, arunama mu maso hashika hasi maze aramusoma. Baca batangura kubazanya amakuru, baraheza binjira mw’ihema.
8 Musa aca yiganira sebukwe ibintu vyose Yehova yakoreye Farawo n’igihugu ca Misiri kubera Abisirayeli+. Amwiganira n’ingorane zose zabashikiye mu nzira+ n’ingene Yehova yabarokoye. 9 Yetiro aca aranezerwa kubera ivyiza vyose Yehova yakoreye Abisirayeli mu kubarokora mu Misiri. 10 Aca avuga ati: «Hashemezwe Yehova we yabarokoye mu Misiri akabakiza Farawo, we yakijije abantu biwe agacinyizo k’Abanyamisiri. 11 Ubu rero ndamenye ko Yehova aruta izindi mana zose+, kubera ivyo yakoreye abishima ku bantu biwe.» 12 Maze Yetiro sebukwe wa Musa azana ishikanwa riturirwa n’ibimazi vyo gushikanira Imana. Aroni n’abashingantahe bose bo muri Isirayeli baca baza gusangira ibifungurwa na sebukwe wa Musa, babirira imbere y’Imana y’ukuri.
13 Bukeye, Musa aricara kugira acire imanza abantu nk’uko yari asanzwe abigira, kandi abantu baguma bahagaze imbere yiwe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba. 14 Sebukwe abonye ibintu vyose akorera abantu, aca amubaza ati: «Kubera iki ukora gutyo? Kubera iki uguma wicaye ng’aho wenyene, abantu bose bakaguma bahagaze imbere yawe kuva mu gitondo gushika ku mugoroba?» 15 Musa amwishura ati: «Ni uko baguma baza iwanje gusiguza Imana. 16 Igihe abantu bafitaniye urubanza, baca barunzanira nanje nkarubacira. Ndaheza nkabamenyesha ingingo z’Imana y’ukuri n’amategeko yayo+.»
17 Sebukwe aca amubwira ati: «Nturiko ukora mu buryo bwiza. 18 Uburuhe buzokwica mwe n’aba bantu muri kumwe. Iki gikorwa kirakurengeye, ntiwogishobora wenyene. 19 Umve rero nkugire inama, kandi Imana izobana nawe+. Wewe nuserukire abantu imbere y’Imana y’ukuri+, uze urashikana ibibazo vyabo imbere yayo+. 20 Uze ubigishe ingingo z’Imana n’amategeko yayo+, kandi ubamenyeshe inzira bakwiye kugenderamwo n’ivyo bakwiye gukora. 21 Ariko uzotore abagabo babishoboye+, batinya Imana, b’abizigirwa kandi banka itunga ribi+ maze ubagire abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi+. 22 Bazoza baratunganiriza abantu igihe havyutse imanza*. Imanza zigoye bazozikuzanira+, na bo baze baraca izoroshe. Niwiremurure, ureke bagufashe kwikorera umutwaro+. 23 Niwabigenza gutyo kandi n’Imana ikabikwemerera, bizogenda neza kandi n’abantu bose bazotaha banezerewe.»
24 Musa aca yumvira sebukwe, akora ivyo amubwiye vyose. 25 Araheza atora muri Isirayeli abagabo babishoboye, abagira abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu n’abakuru b’amacumi. 26 Nuko baza baratunganiriza abantu igihe havyutse imanza. Imanza zigoye bazizanira Musa+, na bo bakaza baraca izoroshe. 27 Inyuma y’ivyo Musa aherekeza sebukwe+, asubira mu gihugu iwabo.
19 Nuko Abisirayeli bashika mu bugaragwa bwa Sinayi mu kwezi kugira gatatu kuva bavuye mu Misiri. 2 Umusi nyene bashika mu bugaragwa bwa Sinayi, bari baje bava i Refidimu+. Baca bashinga amahema ng’aho mu bugaragwa iruhande y’umusozi+.
3 Hanyuma Musa aduga aho Imana y’ukuri iri. Yehova aca amuhamagara ari ku musozi+, amubwira ati: «Uze kubwira abakomoka kuri Yakobo, ari bo Bisirayeli uti: 4 “Mwariboneye ivyo nakoreye Abanyamisiri+ kugira ndabazane iwanje ndabareruye ku mababa y’inkona+. 5 Ubu rero, nimwangamburukira mudaca ku ruhande kandi mukagumya isezerano ryanje, muzombera ihanga ridasanzwe* mu yandi mahanga yose+, kuko isi yose ari rwanje+. 6 Muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda+.” Ivyo abe ari vyo uza kubwira Abisirayeli.»
7 Musa aca aragenda, akoranya abashingantahe bo muri Isirayeli maze ababwira ivyo Yehova yari yamutegetse vyose+. 8 Abantu bose baca bishurira rimwe bati: «Ivyo Yehova avuze vyose turemeye kubikora+.» Ubwo nyene Musa aca ashira Yehova inyishu bamuhaye. 9 Yehova aca amubwira ati: «Ehe ngira nze mu gicu c’umuzitanya kugira abantu bumve ko ndiko ndavugana nawe. Ivyo bizotuma nawe bakwizera ibihe vyose.» Musa araheza abwira Yehova ivyo abantu bamubwiye.
10 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Genda utegure* abantu uyu musi n’ejo, kandi bategerezwa kumesura impuzu zabo. 11 Ku musi ugira gatatu bazobe biteguye, kuko kuri uwo musi jewe Yehova nzomanuka ku musozi Sinayi bose babona. 12 Uze ubashirireho uturimbi irya n’ino y’uwo musozi, ubabwire uti: “Mwiyubare ntihagire uwuduga ku musozi canke ngo akore aho utangurira. Uwuzowukorako wese ategerezwa gupfa. 13 Ntihaze hagire uwumukozako ukuboko, ahubwo muze mumwicishe amabuye canke mumutobekeranye*. Yaba ari umuntu canke igitungwa, vyose bitegerezwa gupfa+.” Ariko inzamba niyavuga+ bazoshobora kwegera umusozi.»
14 Musa aca amanuka umusozi aja gutegura* abantu, na bo baraheza bamesa impuzu zabo+. 15 Maze ababwira ati: «Nimwitegurire umusi ugira gatatu. Ntihaze hagire uwurangura amabanga y’abubatse*.»
16 Nuko ku musi ugira gatatu mu gitondo, humvikana imituragaro n’ijwi ry’inzamba risamirana cane, haboneka n’imiravyo be n’igicu kizitanye+ ku musozi. Abantu bose bari mw’ikambi baca batangura kujugumira+. 17 Musa aca asohora abantu kugira bakoranire imbere y’Imana, maze bahagarara munsi y’umusozi. 18 Umusozi Sinayi wose wariko urafumba umwotsi, kuko Yehova yari yamanutse kuri wo mu muriro+. Umwotsi waguma uduga nk’umwotsi uva mw’ifuru*, kandi uwo musozi wose wariko uranyiganyiga biteye ubwoba+. 19 Ijwi ry’inzamba ryongerekanye cane, Musa yaca avuga, Imana y’ukuri na yo ikamwishura.
20 Yehova araheza amanuka kw’isonga ry’umusozi Sinayi. Hanyuma Yehova ahamagara Musa ngo aduge kw’isonga ry’umusozi, na we araduga+. 21 Yehova aca amubwira ati: «Manuka wihanize abantu, kugira ntibagerageze kurenga uturimbi ngo baze kundaba jewe Yehova, ahandiho benshi barapfa. 22 N’abaherezi nyene bama baza hafi yanje jewe Yehova nibiyeze, kugira ngo jewe Yehova sindabice+.» 23 Musa yishura Yehova ati: «Abantu ntibashobora kuduga ku musozi Sinayi kuko wamaze kutwihaniza, ukatubwira uti: “Shira uturimbi irya n’ino y’uwo musozi, uwugire mweranda+.”» 24 Ariko Yehova amubwira ati: «Manuka, hanyuma uze kugaruka uri kumwe na Aroni. Ariko wihanize abaherezi n’abandi bantu ntibarenge uturimbi ngo baduge aho jewe Yehova ndi kugira sindabice+.» 25 Musa aca aramanuka aho abantu bari, arabibabwira.
20 Imana iraheza ivuga aya majambo yose iti+:
2 «Ndi Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, igihugu wabayemwo uri umushumba*+. 3 Ntukagire izindi mana umbangikanya*+.
4 Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho y’ikintu ico ari co cose kiri hejuru mw’ijuru, canke hasi kw’isi canke mu mazi+. 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubisenga*+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba gusengwa* yonyene+. Mpanira abana ikosa rya ba se gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka, 6 mugabo nkagirira ubuntu* urunganwe rugira igihumbi rw’abankunda bakagumya amabwirizwa yanje+.
7 Ntugakoreshe nabi izina rya Yehova Imana yawe+, kuko Yehova atazoreka guhana uwo wese akoresha nabi izina ryiwe+.
8 Wibuke kwubahiriza umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda+. 9 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 10 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, igitungwa cawe canke kavamahanga aba mu mahema yawe+. 11 Kuko Yehova yaremye ijuru n’isi, ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo mu misi itandatu, agatangura kuruhuka ku musi ugira indwi+. Ni co gituma Yehova yahezagiye umusi w’isabato, akawugira mweranda.
12 Tera iteka so wawe na nyoko wawe+ kugira urambire mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
16 Ntukagirize ibinyoma mugenzawe+.
17 Ntukipfuze inzu ya mugenzawe. Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+, umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yiwe, indogobwa yiwe canke ikintu ico ari co cose ca mugenzawe+.»
18 Ico gihe abantu bose barumva imituragaro n’ijwi ry’inzamba, kandi barabona imiravyo n’umusozi uriko urafumba umwotsi. Babonye ivyo bintu, baca barajugumira maze bahagarara kure+. 19 Nuko babwira Musa bati: «Ba ari wewe utubwira natwe turumviriza, ariko Imana ntibandanye kuvugana natwe, ahandiho twopfa+.» 20 Musa aca ababwira ati: «Ntimutinye, kuko Imana y’ukuri yaje kubageza+ kugira mubandanye kuyitinya, ntimucumure+.» 21 Abantu baguma bahagaze kure, ariko Musa yegera ca gicu c’umuzitanya aho Imana y’ukuri yari+.
22 Maze Yehova abwira Musa ati: «Ubwire Abisirayeli uti: “Mwariboneye ko navuganye namwe ndi mw’ijuru+. 23 Ntimuze muhingure imana z’ifeza mumbangikanya, kandi ntimuze mwihingurire imana z’inzahabu+. 24 Muze munyubakire igicaniro c’ivu, abe ari co mutangirako amashikanwa aturirwa, ibimazi vyo gusangira* be n’ibitungwa vyanyu. Ahantu hose nzohitamwo ko izina ryanje ryibukirwa+, nzohabasanga ndabahezagire. 25 Nimwanyubakira igicaniro c’amabuye, ntimuze mucubakishe amabuye abajwe+. Nimwagikozako icuma* muzoba mugihumanije. 26 Ntimuze muduge ku gicaniro canje muciye ku ngazi, kugira ubwambure* bwanyu ntibuboneke muri kuri co.”»
21 Ng’izi ingingo ubwirizwa kubashikiriza+:
2 «Niwagura umushumba w’Umuheburayo+, azogukorera imyaka itandatu, ariko ku mwaka ugira indwi uzomureka yidegemvye ata co arishe+. 3 Nimba yaje wenyene azogenda ari wenyene. Niyaba afise umugore, bazogenda bajanye. 4 Nimba shebuja ari we yamuhaye umugore maze akamuvyarira abahungu canke abakobwa, uwo mugore n’abana biwe bazoba aba shebuja, na we agende wenyene+. 5 Ariko uwo mushumba niyatakamba ati: “Ndakunda databuja, umugore wanje n’abana banje. Sinshaka kwidegemvya+.” 6 Shebuja azoce amuzana imbere y’Imana y’ukuri. Azomuzana ku muryango canke ku gishimaryango, aheze amutobore ugutwi akoresheje urushinge*. Azoca aba umushumba wiwe ubuzima bwiwe bwose.
7 Umugabo niyagurisha umukobwa wiwe ngo abe umushumba, uwo mukobwa ntibazomureka ngo yidegemvye nk’uko biri ku bashumba b’abagabo. 8 Shebuja natamushima ngo amugire incoreke yiwe, mugabo agahitamwo kumugurisha ku wundi muntu*, nta burenganzira azoba afise bwo kumugurisha ku banyamahanga kuko azoba yamuhemukiye. 9 Niyahitamwo kumuha umuhungu wiwe ngo amubere umugore, akwiye kumugirira nk’ivyo abandi bakobwa bafitiye uburenganzira. 10 Niyazana uwundi mugore, ntakwiye kugabanya ibifungurwa vy’umugore wa mbere, ivyambarwa vyiwe n’uburenganzira bwiwe bwo mu mubano w’abubatse+. 11 Natamugirira ivyo bintu uko ari bitatu, uwo mugore wa mbere arashobora guca yigira akidegemvya ata mahera atanze.
12 Uwuzokubita umuntu akamwica, na we nyene ategerezwa kwicwa+. 13 Ariko nimba atamwishe n’ibigirankana kandi Imana y’ukuri ikaba yaretse bikaba, nzobarangira ahantu ashobora guhungira+. 14 Umuntu niyashavurira mugenziwe akamwica n’ibigirankana+, uwo muntu ategerezwa gupfa naho azoba yahungiye ku gicaniro canje+. 15 Uwukubise se canke nyina ategerezwa gupfa+.
16 Uwunyuruje umuntu+ akamugurisha canke uwo bamufatanye+, ategerezwa gupfa+.
17 Uwututse* se canke nyina ategerezwa gupfa+.
18 Uku ni ko bizogenda abantu babiri nibashwana maze umwe agakubita mugenziwe ibuye canke ingumu*, ku buryo arwara akaguma ku musego ariko ntapfe: 19 nivyakunda ko avyuka agasohoka hanze yishimikije ikibando, uwamukubise nta gihano azohabwa. Azomuha gusa indishi y’umwanya w’akazi yatakaje kuva arwaye gushika akize neza.
20 Umuntu niyakubita inkoni umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore akamupfirako, uwo mushumba ategerezwa guhorwa+. 21 Ariko niyamara umusi umwe canke ibiri atarapfa, ntazohorwa kuko shebuja azoba yamuguze amahera yiwe.
22 Abagabo nibarwana maze bagaca ku mugore yibungenze ku buryo inda yiwe ivuka itageze*+ ariko iryo sanganya ntihagire uwo ryica*, uwamuciyeko ategerezwa kuriha indishi umugabo w’uwo mugore azomucira. Azoyiriha biciye ku bacamanza+. 23 Ariko nihagira uwupfa, uze wishure ubuzima ku bundi+, 24 ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi, ukuguru ku kundi+, 25 ubushe ku bundi, igikomere ku kindi, ugukubitwa ku kundi.
26 Umuntu niyakubita mu jisho umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore maze akarimena, azoce amureka yidegemvye. Iyo izoba ari yo ndishi y’ijisho ryiwe+. 27 Niyamuhongora iryinyo, azoce amureka yidegemvye. Iyo izoba ari yo ndishi y’iryinyo ryiwe.
28 Impfizi niyaseka umugabo canke umugore agapfa, iyo mpfizi itegerezwa kwicishwa amabuye+ kandi inyama zayo ntizize ziribwe. Nyeneyo nta gihano azohabwa. 29 Ariko nimba iyo mpfizi yari isanzwe isekana kandi nyeneyo akaba yaragabishijwe mugabo ntayicungere, hanyuma ikica umugabo canke umugore, iyo mpfizi izoce yicishwa amabuye. Nyeneyo na we nyene ategerezwa kwicwa. 30 Niyasabwa kwigombora*, ategerezwa gutanga ivyo bamuciriye vyose. 31 Naho yoseka umwana w’umuhungu canke w’umukobwa, iyo ngingo nyene ni yo izokora. 32 Nimba yasetse umushumba w’umugabo canke w’umugore, nyeneyo azoriha shebuja w’uwo mushumba shekeli* 30, iyo mpfizi na yo ice yicishwa amabuye.
33 Umuntu niyapfukura ikinogo canke akacimba ariko ntagipfuke, hanyuma impfizi canke indogobwa ikakigwamwo, 34 nyeneco ategerezwa gutanga indishi+. Azoriha nyene igitungwa igiciro bikwiranye, umuvyimba waco na wo uce uba rwiwe. 35 Impfizi y’umuntu niyaseka impfizi y’uwundi igapfa, baze bagurishe iyayishe hanyuma bagabure ikiguzi cayo. Iyo yapfuye na yo nyene bazoyigabura. 36 Nimba na ho vyari bizwi ko iyo mpfizi isanzwe isekana ariko nyeneyo ntayicungere, abwirizwa kwishura impfizi ku yindi, iyapfuye na yo ibe rwiwe.
22 Umuntu niyiba impfizi y’inka canke intama hanyuma akayikerera canke akayigurisha, iyo mpfizi azoyiriha zitanu, intama na yo zine+.
2 (Umuntu niyafata umusuma+ ariko aramena inzu mw’ijoro akamukubita agapfa, uwo muntu ntazokwagirwa n’amaraso. 3 Ariko ivyo nivyashika izuba rimaze guseruka, azokwagirwa n’amaraso.)
Umuntu ategerezwa kuriha ivyo yivye. Nimba adashoboye kubiriha, ategerezwa kugurishwa kugira arihe ivyo yivye. 4 Nibamufatana igitungwa yivye kigikomeye, yaba ari impfizi y’inka, indogobwa canke intama, abwirizwa kukiriha incuro zibiri.
5 Umuntu niyaragira ibitungwa vyiwe mw’itongo canke mu murima w’imizabibu hanyuma akabireka bikaja kwona mu murima w’abandi, azoca abiriha ibintu vyizavyiza vyo mu murima wiwe canke imizabibu myizamyiza yo mu murima wiwe.
6 Umuntu niyacana umuriro maze ugafata ibisaka hanyuma ukarandagata ugaturira imiganda y’ingano* bagenye, izo bataragenya canke umurima wose, uwawucanye ategerezwa kuriha ivyahiye vyose.
7 Umuntu niyabitsa amahera mugenziwe canke ibindi bintu maze bakavyibira mu nzu iwe, uwavyivye niyafatwa azobiriha incuro zibiri+. 8 Natafatwa, nyene inzu bazoce bamuzana imbere y’Imana y’ukuri+ kugira barabe ko atari we yabitwaye*. 9 Igihe cose umuntu yagirijwe ko atunze ikintu kitari rwiwe, yaba ari impfizi y’inka, indogobwa, intama, impuzu canke ikindi kintu catakaye, hanyuma hakaza uwundi avuga ati: “Iki ni rwanje”, abo bantu bose bazoce barenguka imbere y’Imana y’ukuri+. Uwo Imana izovuga ko yagirwa n’icaha azoriha ico kintu incuro zibiri+.
10 Umuntu niyabitsa mugenziwe indogobwa, impfizi y’inka, intama canke ikindi gitungwa ico ari co cose hanyuma kigapfa canke kikamugara*, canke na ho abambuzi bakagitwara ata wubibona, 11 uwakibikijwe azorahire imbere ya Yehova ko atari we yagitwaye, kandi nyeneco ategerezwa kuvyemera. Uwakibikijwe nta ndishi azotanga+. 12 Ariko nibakimwibirako*, ategerezwa guha indishi nyeneco. 13 Nimba catabaguwe n’igikoko co mw’ishamba, azozana ico gitungwa catabaguwe kugira kimubere ikimenyamenya. Ntazotanga indishi y’igitungwa catabaguwe n’igikoko.
14 Mugabo umuntu niyatira igitungwa mugenziwe hanyuma kikavunika canke kigapfa nyeneco atari ho ari, uwo muntu ategerezwa gutanga indishi. 15 Nimba nyeneco ari ho yari, nta ndishi azotanga. Nimba na ho ari ico yari yakose, amahera yagikose ni yo azoca aba indishi yaco.
16 Umugabo niyaryosharyosha umukobwa w’isugi atarehejwe hanyuma akaryamana na we, ategerezwa kuriha inkwano kugira amutware abe umugore wiwe+. 17 Se wiwe niyanka kumumuha, na ho nyene azoriha amahera angana n’inkwano.
18 Ntuze ureke ngo umupfumukazi abeho+.
19 Uwusambanye n’igikoko ategerezwa gupfa+.
20 Uwushikaniye ikimazi iyindi mana atari Yehova wenyene ategerezwa gupfa+.
21 Ntugafate nabi kavamahanga canke ngo umucinyize+, kuko nawe wabaye kavamahanga mu Misiri+.
22 Ntimuze mugirire nabi umupfakazi canke impfuvyi+. 23 Nimwamugirira nabi mu buryo na bumwe hanyuma akandirira, sinzobura kwumva amarira yiwe+. 24 Nanje nzorungura n’ishavu maze ndabicishe inkota, abagore banyu babe abapfakazi n’abana banyu babe impfuvyi.
25 Niwagurana amahera umukene* wo mu bantu banje akaba n’umubanyi wawe, ntuze umuguranire kwunguka. Ntuzomusabe inyungu+.
26 Niwafata impuzu ya mugenzawe nk’ingwati+, utegerezwa kuyimusubiza izuba rirenze. 27 Kuko ari yo yonyene afise yipfuka, ni ko gahuzu konyene afise. None azorara yipfutse iki+? Niyandirira, sinzoreka kumwumviriza kuko ndi umunyempuhwe*+.
28 Ntugatuke* Imana+ canke umukuru wo mu bantu bawe+.
29 Ntimuze mugonanwe kunshikanira ibimazi bivuye mu musesekara w’ivyo mwimbuye n’ivyo muganira mu mato*+. Mutegerezwa kumpa abahungu banyu b’imfura+. 30 Ku bijanye n’ishuri yawe be n’intama yawe+, uku ni ko uzobigenza: izomarana imisi indwi na nyina kuva ivutse, uce uyimpa ku musi ugira umunani+.
31 Mutegerezwa kuba beranda imbere yanje+. Ntimuze murye inyama z’igikoko catabaguriwe mw’ishamba+. Mukwiye kuziterera imbwa.
23 Ntugakwiragize inkuru y’ikinyoma+. Ntuze ushigikire inkozi y’ikibi mu kwagiriza abandi ibinyoma+. 2 Ntugakurikire isinzi kugira mukore ikibi. Ntukagoreke urubanza mu gushinga intahe y’ikinyoma kugira gusa uje ku ruhande rwa benshi*. 3 Ntuze ugire aho uhengamira mu rubanza rurimwo umukene+.
4 Niwabona impfizi y’inka canke indogobwa y’umwansi wawe yazimiye, utegerezwa kuyimuzanira+. 5 Niwabona indogobwa y’umwansi wawe biyinaniye guhaguruka kubera iremerewe n’umuzigo, ntuze wirenganire ngo umere nk’uwutayibonye. Utegerezwa kumufasha kuyiremurura+.
6 Ntukarenganye umukene mu rubanza+.
7 Wirinde ibinyoma kandi ntuze wice intungane n’umugororotsi, kuko umubisha ntashobora kumwita umugororotsi*+.
8 Ntukemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu babona kure, kandi kirashobora kugoramika amajambo y’abagororotsi+.
9 Ntugacinyize kavamahanga. Urazi ingene ubuzima bw’umunyamahanga bumeze*, kuko wabaye kavamahanga mu gihugu ca Misiri+.
10 Uzoteragira umurima wawe wongere wimbure mu myaka itandatu+. 11 Ariko mu mwaka ugira indwi ntuze uwurime, uzowureke urare. Abakene bo mu bantu bawe bazorya ibizoba vyameze muri wo, ibisigaye na vyo biribwe n’ibikoko vyo mw’ishamba. Uzobigenza gutyo nyene ku mirima yawe y’imizabibu n’iy’imyelayo*.
12 Uzokora ibikorwa vyawe imisi itandatu, ariko ku musi ugira indwi nta gikorwa na kimwe uzokora. Ivyo bizotuma impfizi y’inka yawe n’indogobwa yawe biruhuka, bitume n’umwana w’umusukukazi wawe na kavamahanga bagarura agatege+.
13 Muze mwitwararike gukora ivyo nabategetse vyose+, kandi ntimuze muvuge amazina y’izindi mana. Ntimuzoyacishe no mu kanwa kanyu+.
14 Muzohimbaza imisi mikuru yanje gatatu mu mwaka+. 15 Muzohimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Nk’uko nabibategetse, muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, igihe nashinze co mu kwezi kwa Abibu* kigeze+, kuko ari ho mwavuye mu Misiri. Nta n’umwe akwiye kuza imbere yanje iminwe misa+. 16 Muzohimbaza kandi umusi mukuru w’iyimbura* ry’ivyeze ubwa mbere mu vyo mwateye mu mirima+ be n’umusi mukuru wo gusozera iyimbura* mu mpera z’umwaka, igihe muzoba muriko muregeranya ivyo mwimbuye mu mirima+. 17 Gatatu mu mwaka, abagabo bose babwirizwa kuza imbere ya Yehova Umukama w’ukuri+.
18 Ntimuze mushikane amaraso y’ikimazi canje ari kumwe n’ibintu birimwo umwambiro. Ibinure bishikanywe ku misi mikuru yanje ntibikwiye kurara.
19 Uzozana ku nzu ya Yehova Imana yawe ivyimburwa vyizavyiza mu vyeze ubwa mbere mu mirima yawe+.
Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
20 Ehe ndungitse umumarayika imbere yanyu+ kugira abakingire ku rugendo yongere abashikane ahantu nateguye+. 21 Muze mumwumvirize kandi mumugamburukire. Ntimuze mumugararize kuko aje mw’izina ryanje, kandi ntazoharira amakosa yanyu+. 22 Ariko nimwangamburukira ata guca ku ruhande, mugakora ivyo mvuze vyose, nzokwanka ababanka kandi nzorwanya ababarwanya. 23 Umumarayika wanje azobaja imbere abashikane mu gihugu c’Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abanyakanani, Abahiwi n’Abayebusi kandi nzobazimanganya+. 24 Ntimuze mwunamire imana zabo canke ngo mwoshwe kuzisenga*, kandi ntimuze mwigane imigenzo yabo+. Ahubwo muzozimenagure, musavye n’inkingi nyeranda zabo z’amabuye+. 25 Mutegerezwa gusenga jewe Yehova Imana yanyu+, nanje nzohezagira umukate wanyu n’amazi yanyu+. Nzobakingira indwara*+. 26 Nta nda izokoroka mu gihugu iwanyu kandi nta mugore azoba ingumba+. Nzotuma muramba cane.
27 Nzotuma abantu bantinya n’imbere y’uko mushika+, kandi amahanga yose mushitsemwo nzotuma aja mu ruhagarara. Nzotuma abansi banyu bose batsindwa, bate bomoke*+. 28 Nzotuma abansi banyu bacika intege* n’imbere y’uko mushika+ kandi nzokwirukana Abahiwi, Abanyakanani n’Abaheti bababise+. 29 Sinzobirukana mu mwaka umwe kugira igihugu ntigihinduke amashamba, hanyuma ibikoko vyo mw’ishamba bikagwirirana maze bikabagirira nabi+. 30 Nzobirukana bukebuke gushika mumaze kugwira, mukigarurira ico gihugu+.
31 Nzoshinga urubibe rwanyu kuva ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no kuva mu bugaragwa gushika kuri rwa ruzi runini*+. Nzotuma mutsinda ababa muri ico gihugu kandi muzobirukana bababise+. 32 Ntimuze mugiranire isezerano na bo canke imana zabo+. 33 Ntibaze babe mu gihugu canyu kuko bohava batuma muncumurako. Nimwaramuka musenze imana zabo bizobabera umutego+.»
24 Imana ibwira Musa iti: «Duga aho Yehova ari uri kumwe na Aroni, Nadabu, Abihu+ n’abashingantahe 70 bo muri Isirayeli maze mwuname muri kure. 2 Wewe gusa ni we uzokwegera Yehova. Abandi ntibakwiye kumwegera, kandi Abisirayeli ntibakwiye kudugana nawe+.»
3 Musa aca agenda kubwira abantu ivyo Yehova yari yamubwiye vyose n’ingingo zose yari yamushikirije+. Maze bose bishurira rimwe bati: «Ivyo Yehova avuze vyose turemeye kubikora+.» 4 Musa aca yandika ivyo Yehova yari yamubwiye vyose+. Araheza avyuka kare mu gitondo, yubaka igicaniro munsi y’uwo musozi be n’inkingi 12 zihuye na ya miryango 12 ya Isirayeli. 5 Ivyo biheze, arungika imisore y’Abisirayeli gushikanira Yehova amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+ bigizwe n’impfizi z’inka. 6 Musa aca afata igice kimwe c’amaraso agishira mu mabakure, ikindi na co akimijagira ku gicaniro. 7 Araheza afata igitabu c’isezerano, agisomera abantu n’ijwi ryumvikana+. Na bo bavuga bati: «Ivyo Yehova avuze vyose turemeye kubikora no kubigamburuka+.» 8 Musa aca afata ya maraso ayamijagira ku bantu+, ababwira ati: «Aya ni amaraso y’isezerano Yehova agiranye namwe hisunzwe aya majambo yose+.»
9 Musa ari kumwe na Aroni, Nadabu, Abihu na ba bashingantahe 70 bo muri Isirayeli baca baraduga, 10 maze babona Imana ya Isirayeli+. Munsi y’ibirenge vyayo hari ikintu kimeze nk’isaso y’amabuye ya safiro, gityoroye nk’ijuru ritagira ibicu+. 11 Nta co yagize abo bakuru bo muri Isirayeli+. Nuko babona Imana y’ukuri mw’iyerekwa, hanyuma bararya bongera baranywa.
12 Maze Yehova abwira Musa ati: «Duga aho ndi ku musozi ugumeho. Nzoguha ibisate vy’amabuye nanditseko amategeko n’amabwirizwa uzokwigisha abantu+.» 13 Musa na Yosuwa umufasha wiwe+ baca barahaguruka baragenda, hanyuma Musa abandanya kuduga umusozi w’Imana y’ukuri+. 14 Ariko imbere y’uko aduga, yasize abwiye ba bashingantahe ati: «Muturindirire ng’aha gushika tugarutse+. Aroni na Huru+ ng’abo muri kumwe. Uwuzoba afitaniye urubanza n’uwundi azobiture+.» 15 Musa aduga uwo musozi igihe wari utwikiriwe n’igicu+.
16 Ubuninahazwa bwa Yehova+ buguma ku musozi Sinayi+, ico gicu na co kimara imisi itandatu kiwutwikiriye. Ku musi ugira indwi, aca ahamagara Musa ari hagati muri ico gicu. 17 Ku Bisirayeli bariko baravyitegereza, ubuninahazwa bwa Yehova wamengo ni umuriro utema ugatongora kw’isonga ry’uwo musozi. 18 Musa yinjira muri ico gicu, aduga uwo musozi+. Amara imisi 40 n’amajoro 40+ kuri uwo musozi.
25 Maze Yehova abarira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli banzanire intererano. Uzokwakira intererano y’umuntu wese ayitanze bivuye ku mutima+. 3 Intererano uzokwakira izoba igizwe n’ibi bintu: inzahabu+, ifeza+, umujumpu+, 4 inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama, inyuzi z’ilino* nziza, ubwoya bw’impene, 5 inshato z’impfizi z’intama zisize* ibara ritukura, inshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, imbaho z’igiti c’umunyinya+, 6 amavuta yo gushira mu matara+, utuvuta tumota neza* bashira mu mavuta meranda*+ no mu mibavu+, 7 utubuye twa onigisi n’utundi tubuye tw’agaciro two kumadika kuri efodi+ no kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+. 8 Bazonyubakira ihema ryeranda, nanje nzoba hagati yabo+. 9 Muzokora iryo hema n’ibizoba birimwo vyose mwisunze akarorero* nzokwereka+.
10 Bazokora mu giti c’umunyinya isandugu ifise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice, ubwaguke bw’intambwe n’igice n’amahagarara y’intambwe n’igice*+. 11 Uzoyihomekako inzahabu itavanze+ imbere n’inyuma, uyikorere n’urugori rw’inzahabu ruyikikuje+. 12 Uzoyikorera imikono* ine mu nzahabu ishongeshejwe, uyimadike hejuru y’amaguru ane y’iyo sandugu, imikono ibiri ku ruhande rumwe, yindi ibiri ku rundi ruhande. 13 Uzokora ibibando* mu giti c’umunyinya hanyuma ubihomekeko inzahabu+. 14 Ivyo bibando uzobicisha muri ya mikono iri ku mpande z’iyo sandugu kugira bazobikoreshe mu kuyirerura. 15 Bizoguma mu mikono y’iyo sandugu, ntibizokwigere bivayo+. 16 Uzoshira muri iyo sandugu amabwirizwa* nzoguha+.
17 Uzokora mu nzahabu itavanze umufuniko ufise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice be n’ubwaguke bw’intambwe n’igice+. 18 Uzokora abakerubi* babiri mu nzahabu, kandi uzobacurisha inyundo ku mpera zibiri z’uwo mufuniko+. 19 Bazoba bari ku mpande zibiri z’uwo mufuniko, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi. 20 Abo bakerubi bakwiye kuba barabana, bashanje amababa yabo abiri araba hejuru kandi bayakingirije umufuniko w’iyo sandugu+. Bazoba bunamye, mu maso habo haraba ku mufuniko. 21 Uwo mufuniko+ uzowufundikiza ya sandugu, kandi muri iyo sandugu uzoshirayo amabwirizwa* nzoguha. 22 Nzokwiyereka ndi hejuru y’uwo mufuniko, kandi aho ni ho nzovuganira nawe+. Nzokumenyesha amabwirizwa yose uzobwira Abisirayeli ndi hagati y’abo bakerubi babiri bari kw’isandugu y’isezerano*.
23 Uzokora kandi mu giti c’umunyinya imeza+ ifise uburebure bw’intambwe zibiri, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe n’igice+. 24 Uzoyihomekako inzahabu itavanze wongere uyikorere urugori rw’inzahabu ruyikikuje. 25 Uzoyikorera akarate kayikikuza gafise ubwaguke bungana n’ikiganza* hanyuma ugakikuze urugori rw’inzahabu. 26 Uzoyikorera imikono* ine y’inzahabu uheze uyishire ku mpande zayo zine, aho amaguru afatanira n’imeza. 27 Iyo mikono ikwiye kuba iri hafi ya ka karate kugira bazoyicishemwo ibibando vyo kurerura iyo meza. 28 Ivyo bibando uzobikora mu giti c’umunyinya hanyuma ubihomekeko inzahabu. Bazobikoresha mu kurerura iyo meza.
29 Uzoyikorera kandi amasahani n’ibikombe, uyikorere n’amajage* hamwe n’amabakure vyo gusuka amashikanwa y’ibinyobwa. Uzobikora mu nzahabu itavanze+. 30 Uzokwama ushira imbere yanje kuri iyo meza imikate y’ishikanwa*+.
31 Uzokora ikintu baterekako amatara+ mu nzahabu itavanze, kandi uzogicurisha inyundo. Icicariro* caco, umutumba waco, amashami yaco, utubabi twaco, udupfundo twaco n’amashurwe yaco bikwiye kuba bifatanye, ari ikintu kimwe+. 32 Kizoba gifise amashami atandatu ava ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe, yandi atatu ku rundi ruhande. 33 Ishami ryose ryo ku ruhande rumwe rizoba ririko imigwi itatu y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. Ni ko bimeze no ku mashami yo ku rundi ruhande. Bizoba bimeze gutyo ku mashami yose atandatu ava ku mutumba waco. 34 Uwo mutumba uriko imigwi ine y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. 35 Munsi y’aho amashami abiri ya mbere ahurira ku mutumba hazoba hariho ipfundo. Hazoba hariho n’irindi pfundo munsi y’aho amashami abiri akurikira ahurira, hamwe n’irindi munsi y’aho amashami abiri ya nyuma ahurira. Bizoba bimeze gutyo kuri ayo mashami atandatu yose. 36 Ico kintu baterekako amatara, amapfundo yaco n’amashami yaco bikwiye kuba ari ikintu kimwe, gicurishijwe inyundo mu nzahabu itavanze+. 37 Uzogikorera amatara indwi, kandi nibayatsa azotuma imbere yaco habona+. 38 Udupensi* twaco n’udupanu twaco tujamwo umuriro tuzoba dukozwe mu nzahabu itavanze+. 39 Ico kintu baterekako amatara hamwe n’ibikoresho vyaco bizokorwa mw’italanto* imwe y’inzahabu itavanze. 40 Uze witwararike kubikora wisunze akarorero* nakweretse ku musozi+.
26 Uzonyubakira iryo hema ryeranda+ ukoresheje ibitambara cumi bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe* be n’inyuzi zisa n’agahama. Uzobideseko abakerubi+. 2 Igitambara kimwekimwe kizoba gifise uburebure bw’intambwe* 28 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Vyose bizoba bingana+. 3 Uzoteranya ibitambara bitanu bibe igitambara kimwe, uteranye n’ibindi bitanu bibe ikindi gitambara kimwe. 4 Uzokora ibigombo mu nyuzi zisa n’ubururu ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo wateranije ubwa mbere, ubigenze gutyo no ku mpera y’ica nyuma mu vyo wateranije ubwa kabiri, aho bizofatanirizwa. 5 Uzokora ibigombo 50 ku gitambara kimwe, n’ibindi 50 ku mpera y’ikindi gitambara, ubikore bitumberanye aho bizofatanirizwa. 6 Uzokora udufatanisho 50 mu nzahabu, hanyuma udufatanishe ivyo bitambara bibe ihema rimwe+.
7 Uzokora kandi ibitambara mu bwoya bw’impene+ vyo gupfuka iryo hema ryeranda. Uzokora ibitambara 11+. 8 Igitambara kimwekimwe kizoba gifise uburebure bw’intambwe 30 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Ivyo bitambara 11 vyose bizoba bingana. 9 Uzoteranya ibitambara bitanu ukwavyo, uteranye n’ibindi bitandatu bisigaye. Igitambara kigira gatandatu uzokizinga ku ruhande rw’imbere y’ihema. 10 Uzokora ibigombo 50 ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo wafatanije ubwa mbere, ukore n’ibindi 50 ku mpera y’ica nyuma mu vyo wafatanije ubwa kabiri. Uzobikorera aho ivyo bitambara bibiri bizofatanirizwa. 11 Uzokora udufatanisho 50 mu mujumpu, uce udushira muri ivyo bigombo, uheze ufatanye ivyo bitambara bibiri bibe ihema rimwe. 12 Igitambara kirengako kizokwenena. Ica kabiri c’ico gitambara kirengako kizokwenena inyuma kuri iryo hema ryeranda. 13 Mu burebure, ivyo bitambara bizoba bifise agace kangana n’intambwe imwe karenga ku mpande zibiri z’iryo hema kugira biripfuke neza.
14 Uzokora kandi igitambara co gupfuka iryo hema mu nshato z’intama zisize ibara ritukura. Hejuru yaco uzorenzako igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi*+.
15 Uzokora ibizingiti*+ vy’iryo hema mu giti c’umunyinya uheze ubishinge+. 16 Ikizingiti cose kizoba gifise uburebure bw’intambwe cumi n’ubwaguke bw’intambwe n’igice. 17 Kimwekimwe cose kizoba gifise amasonga* abiri atumberanye*. Ukwo ni ko uzokora ibizingiti vyose vy’iryo hema. 18 Uzokora ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema.
19 Uzokora mw’ifeza udutafari 40 dutoboye+ two kuja munsi y’ivyo bizingiti 20. Udutafari tubiri tuzoja munsi y’amasonga abiri y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’amasonga y’ibizingiti bikurikira+. 20 Uzokora kandi ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu buraruko rw’iryo hema ryeranda, 21 n’udutafari 40 twavyo dutoboye dukozwe mw’ifeza. Udutafari tubiri tuzoja munsi y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’ibizingiti bikurikira. 22 Uruhande rw’inyuma rw’iryo hema, amaja mu burengero, uzorukorera ibizingiti bitandatu+. 23 Uzokora ibizingiti bibiri, bibe inkingi mu mfuruka zibiri z’inyuma kuri iryo hema. 24 Bikwiye kuba bigizwe n’imbaho zibirizibiri kuva hasi gushika hejuru ku mukono* wa mbere. Vyose uko ari bibiri bizoba bimeze kumwe, kandi bizoba ari inkingi zo mu mfuruka. 25 Bizoba ari ibizingiti umunani n’udutafari 16 twavyo dukozwe mw’ifeza: udutafari tubiri munsi y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’ibizingiti bikurikira.
26 Uzokora mu giti c’umunyinya udukoni two gufata ibizingiti. Dutanu tuzoja ku ruhande rumwe rw’ihema+, 27 dutanu ku rundi ruhande, n’utundi dutanu ku ruhande rw’ihema rwo mu burengero, ni ukuvuga igice c’inyuma. 28 Agakoni gafashe ibizingiti hagati na hagati gakwiye kuva ku mpera imwe kagashika ku yindi.
29 Ivyo bizingiti uzobihomekako inzahabu+, kandi uzobikorera imikono* y’inzahabu yo kwinjizamwo utwo dukoni. N’utwo dukoni nyene uzoduhomekako inzahabu. 30 Uzokwubaka iryo hema ryeranda wisunze umugero* nakweretse ku musozi+.
31 Uzokora irido+ mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Uzoyideseko abakerubi. 32 Uzoyimanika ku nkingi zine z’ibiti vy’umunyinya zihometseko inzahabu. Udusumari two kuri izo nkingi tuzoba dukozwe mu nzahabu. Izo nkingi zizoba zishinze mu dutafari tune dukozwe mw’ifeza. 33 Uzomanika iyo rido munsi ya twa dufatanisho, uce winjiza ya sandugu y’isezerano*+ uyishire inyuma y’iyo rido. Iyo rido izogabura Aheranda+ n’Aheranda cane+. 34 Utegerezwa gushira wa mufuniko kuri iyo sandugu y’isezerano iri Aheranda cane.
35 Uzoshira ya meza mu kibanza c’imbere y’iyo rido, irabane na ca kintu baterekako amatara+ kiri ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. Imeza uzoyishira ku ruhande rwo mu buraruko. 36 Uzokora iyindi rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Vyose bizoba bijishiwe hamwe+. 37 Uzokora inkingi zitanu mu giti c’umunyinya zo kumanikako iyo rido*, uheze uzihomekeko inzahabu. Udusumari twazo tuzoba dukozwe mu nzahabu, kandi uzozikorera udutafari dutanu mu mujumpu ushongeshejwe.
27 Uzokore igicaniro mu giti c’umunyinya+. Kizoba gifise uburebure bw’intambwe* zitanu n’ubwaguke bw’intambwe zitanu. Kizoba ari ikwadarato kandi kizoba gifise amahagarara y’intambwe zitatu+. 2 Uzokora amahembe+ ku mfuruka zaco zine, kandi ayo mahembe azoba afatanye na co. Ico gicaniro uzogihomekeko umujumpu+. 3 Uzogikorera utudobo two gukura iminyota* hamwe n’ibipawa, amabakure, amakanya be n’udupanu tujamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose uzobikora mu mujumpu+. 4 Uzogikorera kandi akayungiro k’umujumpu. Ku mfuruka zine z’ako kayungiro uzohashira imikono* ine y’umujumpu. 5 Uzogashira munsi y’imbiga z’igicaniro, ukamanure hagati na hagati yaco. 6 Uzokora ibibando* vy’ico gicaniro mu giti c’umunyinya, uheze ubihomekeko umujumpu. 7 Ivyo bibando uzobicomeka muri ya mikono, ku buryo bija ku mpande zibiri z’ico gicaniro igihe bakireruye+. 8 Uzokora ico gicaniro nk’isandugu y’imbaho irangaye. Uzogikora nk’uko nyene nabikweretse ku musozi+.
9 Uzotunganya ikigo+ c’iryo hema ryeranda. Ku ruhande rwo mu bumanuko, hazoba hazitijwe ibitambara bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye. Bizoba bifise uburebure bw’intambwe 100 kuri urwo ruhande+. 10 Ruzoba rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo bizoba bikozwe mw’ifeza. 11 Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene ruzoba rufise ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 100 hamwe n’inkingi 20 be n’udutafari 20 bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo bizoba bikozwe mw’ifeza. 12 Ku ruhande rwo mu burengero bw’ico kigo, uzohazitiza ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 50. Kuri urwo ruhande nyene hazoba hari inkingi cumi n’udutafari cumi dutoboye. 13 Ubwaguke bw’ico kigo buzoba bungana n’intambwe 50 ku ruhande rwo mu buseruko. 14 Ku ruhande rumwe rw’irembo hazoba hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye+. 15 Ku rundi ruhande na rwo hazoba hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye.
16 Kw’irembo ry’ico kigo hazoba hari irido* ifise uburebure bw’intambwe 20. Iyo rido izoba ikozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+. Vyose bizoba bijishiwe hamwe. Hazoba kandi hariho inkingi zine n’udutafari twazo dutoboye tune+. 17 Inkingi zose zikikuje ico kigo zizoba zifise udufatanisho n’udusumari tw’ifeza, ariko udutafari twazo dutoboye tuzoba dukozwe mu mujumpu+. 18 Uruzitiro rw’ico kigo ruzoba rufise uburebure bw’intambwe 100+, ubwaguke bw’intambwe 50 n’amahagarara y’intambwe 5. Ruzoba rukozwe mu nyuzi z’ilino nziza zitsivye kandi ruzoba rufise udutafari dutoboye dukozwe mu mujumpu. 19 Ibikoresho vyose vyo muri iryo hema ryeranda, ushizemwo imambo* zaryo n’imambo zose z’uruzitiro rwaryo, bizoba bikozwe mu mujumpu+.
20 Uzotegeka Abisirayeli bakuzanire amavuta y’imyelayo* amiminye neza yo kwatsa amatara, kugira agume yaka umwanya wose+. 21 Imbere mw’ihema ry’ibonaniro, mu gice kiri imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*+, Aroni n’abahungu biwe bazokwitwararika ko ayo matara aguma yakira imbere ya Yehova+, kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Ni itegeko rizokwamaho ku Bisirayeli, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+.
28 Uzotumako mwenewanyu Aroni+ n’abahungu biwe, ubatandukanye n’abandi b’Isirayeli, kugira bambere abaherezi+. Azoba ari Aroni n’abahungu biwe+ ari bo Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+. 2 Uzokorera mwenewanyu Aroni impuzu nyeranda zituma agira iteka kandi akaberwa+. 3 Uzobwira abahinga bose nahaye ubwenge*+ bakore impuzu za Aroni kugira zerekane ko yatowe* ngo ambere umuherezi.
4 Ng’izi impuzu bazokora: agapfuko ko ku gikiriza+, efodi+, ikanzu itagira amaboko+, ikanzu y’udukarokaro, igitambara bazingira mu mutwe+ be n’umukanda+. Bazokorera izo mpuzu nyeranda mwenewanyu Aroni n’abahungu biwe kugira bambere abaherezi. 5 Abo bahinga bazokoresha inzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino* nziza.
6 Bazokora efodi mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Ikwiye kuba ari injishano+. 7 Izoba ifise ibitambara bibiri vyo ku bitugu, ic’imbere n’ic’inyuma, bifatanira hejuru ku bitugu. 8 Umukaba+ wo kugumya iyo efodi, ukwiye kuba ufatanye na yo kandi ukaba ujishwe mu bintu nyene iyo efodi ikozwemwo, ni ukuvuga inzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye.
9 Uzofata utubuye tubiri tw’agaciro bita onigisi+, utwandikeko* amazina y’abahungu ba Isirayeli+. 10 Uzokwandika amazina atandatu ku kabuye kamwe, yandi atandatu ku kandi kabuye, wisunze uko bakurikirana mu mavuka. 11 Umuhinga mu vyo kwandika ku mabuye azokwandika amazina y’abahungu ba Isirayeli kuri utwo tubuye tubiri, nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo+. Uzoca udutereka mu tugata tw’inzahabu. 12 Uzoshira utwo tubuye tubiri kuri vya bitambara vyo ku bitugu vya efodi, kugira abahungu ba Isirayeli baze baribukwa+. Aroni azokwambara amazina yabo imbere ya Yehova, kuri vya bitambara bibiri vyo ku bitugu, kugira baze baribukwa. 13 Uzokora utugata tw’inzahabu 14 n’utugozi tubiri dutsivye+ dukozwe mu nzahabu itavanze, uce ubohera utwo tugozi kuri twa tugata+.
15 Uzosaba umuhinga mu vyo kudesa akore agapfuko ko ku gikiriza ko guca imanza+. Kazoba gakozwe nka kurya kwa efodi, ni ukuvuga mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+. 16 Kazinzemwo kubiri kazoca kamera nk’ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe y’ikiganza* n’ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza. 17 Uzogashirako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere uzoba uriko akabuye ka rubi, aka topazi n’aka emerode. 18 Uwa kabiri uzoba uriko akabuye ka tirikwaze, aka safiro n’aka yasipi. 19 Uwa gatatu uzoba uriko akabuye ka leshemu, aka agata n’aka ametisito. 20 Uwa kane na wo uzoba uriko akabuye ka kirizolito, aka onigisi n’aka yade. Utwo tubuye tuzoba turi mu dukadre tw’inzahabu. 21 Tuzoba twanditseko amazina 12 y’abahungu ba Isirayeli. Kamwekamwe kose kazoba kariko izina ry’umwe muri ya miryango 12, kandi rizoba ryanditse nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo.
22 Uzokora mu nzahabu itavanze imigozi itsivye yo gushira kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+. 23 Uzokora n’utugombo tubiri tw’inzahabu, maze ushire utwo tugombo ku mfuruka zibiri z’ako gapfuko. 24 Uzocisha iyo migozi ibiri y’inzahabu muri utwo tugombo tubiri turi ku mfuruka z’ako gapfuko. 25 Uzocisha imitwe ibiri y’iyo migozi muri twa tugata tubiri turi ku bitambara vya efodi vyo ku bitugu, ku ruhande rwayo rw’imbere. 26 Uzokora utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, uce udushira ku mfuruka zibiri zo hepfo za ka gapfuko ko ku gikiriza, indani aharabana na efodi+. 27 Uzokora n’utundi tugombo tubiri tw’inzahabu ku ruhande rw’imbere rwa efodi, udushire munsi ya vya bitambara bibiri vyo ku bitugu hafi y’aho efodi ifatanirijwe, hejuru ya wa mukaba wayo ujishe+. 28 Agapfuko ko ku gikiriza kazoba gafashwe n’umugozi usa n’ubururu, ufatanya utugombo twako n’utugombo twa efodi. Ivyo bizotuma ako gapfuko kaguma gafashe kuri efodi, hejuru ya wa mukaba ujishe.
29 Igihe Aroni yinjiye Aheranda, ategerezwa kuba yambaye ku mutima ka gapfuko ko guca imanza kariko amazina y’abahungu ba Isirayeli, kugira Yehova yame abibuka. 30 Uzoshira Urimu na Tumimu*+ muri ako gapfuko ko guca imanza, kandi bitegerezwa kuba biri ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova. Aroni ategerezwa kuba yambaye ku mutima ivyo bikoresho vyo gucira imanza Abisirayeli, igihe cose ari imbere ya Yehova.
31 Uzokora ikanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi. Yose izoba ikozwe mu nyuzi zisa n’ubururu+. 32 Izoba ifise izosi risatuye hagati na hagati. Iryo zosi rizoba rikikujwe n’umubariro wakozwe n’umuhinga mu kujisha impuzu. Rizoba rimeze nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma, kugira ntiritabuke. 33 Umushono wayo wo hasi uzowukikuza udusharizo tw’amakomamanga dukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama. Hagati yatwo hazoba hari udusharizo tw’udukengeri dukozwe mu nzahabu. 34 Uzoza urakurakuranya agakengeri k’inzahabu n’agasharizo k’ikomamanga, ubikikuze umushono wose wo hasi w’iyo kanzu. 35 Aroni ategerezwa kuyambara kugira akore igikorwa c’ubuherezi. Ijwi ry’utwo dukengeri ritegerezwa kwumvikana igihe yinjiye aheranda imbere ya Yehova n’igihe asohotse, kugira ntapfe+.
36 Uzokora mu nzahabu itavanze akuma gafyase gakayangana hanyuma ukandikeko nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo ngo: “Ubweranda ni ubwa Yehova+.” 37 Uzokabohera kuri ca gitambara bazingira mu mutwe+, ukoresheje umugozi usa n’ubururu. Kazoguma kuri ico gitambara amaja imbere. 38 Aroni azokambara mu ruhanga, kandi hagize uwufata nabi ibintu vyeranda ni we azobibazwa+. Ivyo bintu ni amashikanwa meranda Abisirayeli bashikanira Imana nk’ingabire. Gakwiye kuguma ku ruhanga rwiwe kugira Abisirayeli bemerwe na Yehova.
39 Uzojisha ya kanzu y’udukarokaro mu nyuzi z’ilino nziza, ukore na ca gitambara bazingira mu mutwe mu nyuzi z’ilino nziza hamwe n’umukanda ujishe+.
40 Abahungu ba Aroni na bo nyene uzobakorera amakanzu, imikanda n’udukofero*+ kugira bagire iteka kandi baberwe+. 41 Uzokwambika Aroni mwenewanyu n’abahungu biwe, ubarobanuze amavuta*+ hanyuma ubimike+ wongere ubeze kugira bambere abaherezi. 42 Uzobakorera kandi amabutura* mu nyuzi z’ilino kugira bapfuke ubwambure bwabo+. Azova mu mafyinga ashike ku matako. 43 Aroni n’abahungu biwe bategerezwa kuyambara igihe binjiye mw’ihema ry’ibonaniro, canke igihe begereye igicaniro kugira bakore igikorwa cabo mu kibanza ceranda. Bategerezwa kuyambara kugira ntibahave bagirwa n’ikosa ngo bapfe. Ni itegeko ryamaho kuri we n’uruvyaro* rwiwe, uko ruzogenda rurakurikirana.
29 Ibi ni vyo uzogira kugira ubeze bambere abaherezi: uzotora ishuri, impfizi zibiri z’intama zitagira akanenge+, 2 umukate utarimwo umwambiro, imikate y’umuzingi itarimwo umwambiro icumbanywe amavuta be n’udukate dufyase tutarimwo umwambiro dusizeko amavuta+. Uzobikora mw’ifu y’ingano inoze. 3 Uzobishira mu giseke hanyuma ubizane imbere yanje+, biri kumwe na ya shuri na za mpfizi z’intama zibiri.
4 Uzoca uzana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+ maze uboze n’amazi+. 5 Uzoheza utore za mpuzu+ hanyuma wambike Aroni ya kanzu y’udukarokaro na ya kanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi. Uzomwambika kandi ya efodi na ka gapfuko ko ku gikiriza, hanyuma umukenyeze mu kiyunguyungu wa mukaba wa efodi ujishe+. 6 Uzoca umwambika ca gitambara bazingira mu mutwe, uheze ushire kuri co ca kimenyetso ceranda cerekana ko yeguriwe Imana*+. 7 Hanyuma uzotora ya mavuta meranda*+, uyasuke ku mutwe wiwe maze umurobanure*+.
8 Uzoheza uzane ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+. 9 Uzobakenyeza ya mikanda (na Aroni arimwo), wongere ubambike twa dukofero*. Ubuherezi buzoba rwabo kandi iryo ni itegeko rizokwamaho+. Ukwo ni ko uzobigenza mu kwimika Aroni n’abahungu biwe mw’ibanga ry’ubuherezi+.
10 Hanyuma uzozana ya shuri imbere y’ihema ry’ibonaniro maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+. 11 Uzoca ukererera iyo shuri imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 12 Uzokoza urutoke mu maraso yayo uheze uyasige ku mahembe y’igicaniro+, ayasigaye yose na yo uyasuke ku mushinge waco+. 13 Uzoca ufata ikinure+ cose gipfutse amara, ikinure gifashe ku gitigu*, amafyigo abiri n’ikinure kiri kuri yo, maze ubituririre ku gicaniro bifumbe umwotsi+. 14 Ariko inyama z’iyo shuri, urushato rwayo n’amayezi yayo uzobituririra inyuma y’ikambi. Ni ishikanwa ry’igicumuro.
15 Ivyo biheze, uzotora impfizi y’intama imwe maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+. 16 Uzoheza uyikerere hanyuma ufate amaraso yayo uyamijagire ku mpande zose z’igicaniro+. 17 Uzokatagura iyo ntama mu bihimba, woze amara yayo+ n’amaguru* yayo, uce upanga ivyo bihimba uko bikurikirana gushika ku mutwe. 18 Uzoturira iyo ntama yose ifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ishikanwa rya Yehova riturirwa ry’akamoto keza*+. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
19 Mu nyuma uzotora ya mpfizi y’intama isigaye, Aroni n’abahungu biwe bayirambikeko ibiganza ku mutwe+. 20 Uzokerera iyo mpfizi y’intama hanyuma ufate makeyi ku maraso yayo, uyasige ku gutwi kw’iburyo kwa Aroni no ku matwi y’iburyo y’abahungu biwe. Uzoyasiga kandi ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo, wongere uyamijagire ku mpande zose z’igicaniro. 21 Uzoheza utore amaraso makeyi ku yari ku gicaniro n’amavuta makeyi kuri ya mavuta meranda+, ubimijagire Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe n’impuzu zabo. Ivyo bizotuma Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe n’impuzu zabo, biba vyeranda+.
22 Uzotora ibinure vy’iyo ntama, ni ukuvuga igitsembe cayo kinuze, ikinure gipfutse amara, ikinure gifashe ku gitigu*, amafyigo yayo abiri n’ikinure kiri kuri yo+ hamwe n’ukuguru kwayo kw’ukuryo, kuko ari impfizi y’intama ikoreshwa mu kubimika+. 23 Vyongeye, muri ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro kiri imbere ya Yehova, uzotoramwo umukate wiburungushuye, umukate w’umuzingi ucumbanywe amavuta n’agakate gafyase. 24 Vyose uzobishira mu minwe ya Aroni n’abahungu biwe, uheze ubizungagize* bibe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova. 25 Uzoheza ubikure mu minwe yabo, ubituririre ku gicaniro hejuru ya rya shikanwa riturirwa, bimotere neza* Yehova. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
26 Hanyuma uzotora akameme* ka ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika+ Aroni, uheze ukazungagize kabe ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova. Uwo ni wo uzoba umugabane wawe. 27 Uzoshira ku ruhande akameme ka rya shikanwa bazungagiza n’ukuguru kwa wa mugabane mweranda wazungagiza uwukuye kuri ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika+ Aroni n’abahungu biwe. 28 Ivyo bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe, kuko ari umugabane mweranda. Ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli. Ni umugabane mweranda uzotangwa n’Abisirayeli+, uwo bazoha Yehova uvuye ku bimazi vyabo vyo gusangira+.
29 Impuzu nyeranda+ za Aroni zizokoreshwa n’abahungu biwe+ bazomusubirira, nibarobanuzwa amavuta ngo babe abaherezi. 30 Umuherezi wo mu bahungu biwe azomusubirira, akinjira mw’ihema ry’ibonaniro kugira akore igikorwa c’ubuherezi ahantu heranda, azokwambara izo mpuzu imisi indwi+.
31 Uzofata inyama za ya mpfizi y’intama yakoreshwa mu kwimika abaherezi, uzitekere ahantu heranda+. 32 Aroni n’abahungu biwe bazorya+ inyama z’iyo ntama na wa mukate uri mu giseke, bari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 33 Bazorya ibintu vyatanzweko impongano* kugira bimikwe mw’ibanga ry’ubuherezi no kugira bezwe. Ariko umuntu atabifitiye uburenganzira* ntakwiye kubiryako kuko ari vyeranda+. 34 Hagize ibirara kuri za nyama z’ikimazi co kwimika abaherezi canke kuri ya mikate, ukwiye kubiturira+. Ntibikwiye kuribwa kuko ari vyeranda.
35 Ivyo ni vyo uzogirira Aroni n’abahungu biwe wisunze ivyo nagutegetse vyose. Uzomara imisi indwi uriko urabimika mw’ibanga ry’ubuherezi+. 36 Buri musi uzotanga impfizi y’inka y’ishikanwa ry’igicumuro, kandi uzotyorora igicaniro mu kugitangira impongano. Utegerezwa kugisukako amavuta kugira kibe ceranda+. 37 Uzomara imisi indwi utyorora igicaniro mu gutanga amashikanwa y’igicumuro, kandi utegerezwa kuceza kugira kibe ceranda cane+. Uwuzogikorako wese ategerezwa kuba ari mweranda.
38 Ibi ni vyo uzokwama ushikana kuri ico gicaniro buri musi+: amasuguru abiri y’intama amaze umwaka umwe. 39 Imwe uzoyishikana mu gitondo, iyindi ku mugoroba*+. 40 Isuguru ya mbere uzoyishikana iri kumwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta amiminye neza, hamwe n’ishikanwa ry’ibinyobwa ringana n’ica kane ca hini. 41 Iya kabiri na yo uzoyishikana ku mugoroba iri kumwe n’ishikanwa ry’ifu* be n’iry’ikinyobwa, nka bimwe vyo mu gitondo. Uzoyitanga nk’ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova. 42 Ni ishikanwa riturirwa rizokwama ritangwa ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro imbere ya Yehova, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Aho ni ho nzokwiyerekera kugira mvugane nawe+.
43 Ni ho nzokwiyerekera Abisirayeli, kandi ubuninahazwa bwanje buzotuma haba heranda+. 44 Nzokweza ihema ry’ibonaniro hamwe n’igicaniro, kandi nzokweza Aroni n’abahungu biwe+ kugira bambere abaherezi. 45 Nzobana n’Abisirayeli, mbe Imana yabo+. 46 Bazomenya vy’ukuri ko jewe Yehova Imana yabo ari jewe nabakuye mu Misiri kugira mbane na bo+. Ndi Yehova Imana yabo.
30 Uzokore igicaniro co guturirirako imibavu+. Uzogikora mu giti c’umunyinya+. 2 Kizoba ari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe*, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe zibiri. Amahembe yaco azoba afatanye na co+. 3 Uzogihomekako inzahabu itavanze hejuru, ku mpande zaco zose no ku mahembe yaco. Uzogikorere urugori* rw’inzahabu rugikikuje. 4 Uzogikorera kandi imikono* ibiri y’inzahabu munsi y’urwo rugori, ku mpande zibiri zaco zibangabanganye. Iyo mikono ibiri izofata ibibando* vyo kukirerura. 5 Ivyo bibando uzobikora mu giti c’umunyinya hanyuma ubihomekeko inzahabu. 6 Uzogishira imbere y’irido iri hafi y’isandugu y’isezerano*+, imbere ya wa mufuniko upfundikiye iyo sandugu, hamwe nzokwiyerekera+.
7 Aroni+ azoturirira kuri ico gicaniro+ imibavu+ imota neza, ifumbire umwotsi kuri co. Ivyo azobigira imisi yose mu gitondo ariko aratunganya amatara+. 8 Aroni kandi azoturira imibavu ku mugoroba* igihe azoba ariko aratsa amatara. Ni ishikanwa ry’imibavu rizokwama ritangwa imbere ya Yehova, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. 9 Ntimuze mugishikanireko imibavu itemewe+ canke ishikanwa riturirwa canke ishikanwa ry’intete. Ntimuze mugisukeko ishikanwa ry’ikinyobwa. 10 Rimwe mu mwaka, ku musi w’impongano+, Aroni azosuka ku mahembe y’ico gicaniro amaraso makeyi y’ikimazi c’igicumuro kugira agityorore+. Azoza aragityorora rimwe mu mwaka, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Ico gicaniro ni ceranda cane kuri Yehova.»
11 Maze Yehova abwira Musa ati: 12 «Niwagira rusansuma rwo guharura abahungu b’Abisirayeli+, umwe wese ategerezwa guha intererano Yehova kugira acungure ubuzima bwiwe mu gihe c’urwo rusansuma. Ivyo bizotuma icago kitabazako igihe bariko barandikwa. 13 Abazoba banditswe bose bazotanga inusu ya shekeli* ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda*+. Ingero 20 za gera* zingana na shekeli imwe. Inusu ya shekeli ni yo ntererano ya Yehova+. 14 Umuntu wese yanditswe kuva ku myaka 20 kuduga, azotanga intererano ya Yehova+. 15 Mu ntererano baha Yehova kugira bacungure* ubuzima bwabo, umutunzi ntazotanga ibirenze inusu ya shekeli, kandi n’umukene ntazotanga ibiri munsi y’inusu ya shekeli. 16 Uzofata ayo mahera y’ifeza Abisirayeli batanze kugira bacungure ubuzima bwabo, uyatange kugira akoreshwe mu bikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. Ayo mahera azotuma Yehova yibuka Abisirayeli, kuko ari ayo gucungura ubuzima bwanyu.»
17 Yehova yongera kubwira Musa ati: 18 «Uzokore ikibesani* c’umujumpu co gukaraba hamwe n’ico bagiterekako+. Uzogishira hagati y’ihema ry’ibonaniro n’igicaniro, uheze ugisukemwo amazi+. 19 Aho ni ho Aroni n’abahungu biwe bazokarabira kandi ni ho bazokwogera ibirenge+. 20 Igihe binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke igihe begereye igicaniro kugira bakore igikorwa cabo no kugira bashikanire Yehova ibimazi biturirwa, bazokaraba n’amazi kugira ntibapfe. 21 Bategerezwa gukaraba no kwoza ibirenge vyabo kugira ntibapfe. Iryo ni itegeko ryamaho kuri Aroni n’abahungu biwe, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana+.»
22 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 23 «Uzoheza utore ibi birungo vyizavyiza: shekeli 500 z’imira* igumye, shekeli 250 za kanele* isosa, shekeli 250 z’ikibingo kimota, 24 na shekeli 500 z’umubagabaga. Uzobipima ukoresheje shekeli y’akarorero y’aheranda+, uce uvyongerako hini* imwe y’amavuta y’imyelayo*. 25 Uzobikoramwo amavuta meranda yo kurobanuza. Akwiye kuba avanze ku buhinga*+. Azoba ari amavuta meranda yo kurobanuza.
26 Uzoyasuka* kuri rya hema ry’ibonaniro+, kuri ya sandugu y’isezerano*, 27 kuri ya meza n’ibikoresho vyayo, kuri ca kintu baterekako amatara n’ibikoresho vyaco, kuri ca gicaniro c’imibavu, 28 kuri ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa n’ibikoresho vyaco hamwe no kuri ca kibesani* n’ico bagiterekako. 29 Utegerezwa kuvyeza kugira bibe vyeranda cane+. Uwuzobikorako wese ategerezwa kuba ari mweranda+. 30 Uzorobanuza amavuta Aroni+ n’abahungu biwe+, ubeze kugira bambere abaherezi+.
31 Uze ubwire Abisirayeli uti: “Azokwama ari amavuta yanje meranda*, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana+. 32 Ntimuze muyisige kandi ntimuze mukore amavuta ameze nka yo. Ni amavuta meranda kandi mukwiye kwama muyabona ko ari meranda. 33 Umuntu wese azokora amavuta ameze nka yo kandi akayasuka ku muntu atabifitiye uburenganzira*, ategerezwa kwicwa*+.”»
34 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Uzofate ibirungo+ bikurikira: natafu, sheheleti, galubano na olibani* itavanze. Uzogire ibipimo bingana. 35 Uzobikoramwo imibavu+. Ivyo birungo bikwiye kuba bivanze ku buhinga, birimwo umunyu+, bityoroye kandi ari vyeranda. 36 Uzosekura imibavu mikeyi ivemwo agafu kanoze, uce ufata gakeyi ugashire imbere y’isandugu* iri mw’ihema ry’ibonaniro, hamwe nzokwiyerekera. Iyo mibavu ikwiye kuba myeranda cane kuri mwebwe. 37 Ntimuze muhingure imibavu yo kwikoreshereza imeze nk’iyo+. Mukwiye kuyibona nk’ikintu ceranda cegukira Yehova. 38 Umuntu wese azokora imibavu nk’iyo kugira aze arayimotereza ategerezwa kwicwa.»
31 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 2 «Ehe raba natoye* Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri umuhungu wa Huru wo mu muryango wa Yuda+. 3 Nzomwuzuza impwemu y’Imana kugira aronke ubukerebutsi, ugutegera n’ubumenyi mu buhinga bw’ubwoko bwose, 4 kugira ategure ibikorwa vy’ubuhinga, acure ibintu mu nzahabu, mw’ifeza no mu mujumpu, 5 kugira abaze amabuye yongere ayatere+ no kugira ahingure ibintu vy’ubwoko bwose bikorwa mu biti+. 6 Nagenye kandi Oholiyabu+ umuhungu wa Ahisamaki wo mu muryango wa Dani kugira amufashe. Vyongeye, nshize ubukerebutsi mu bantu bose b’abahinga kugira bazokore ibintu vyose nagutegetse+, 7 ni ukuvuga rya hema ry’ibonaniro+, ya sandugu y’isezerano*+ n’umufuniko+ uri kuri yo, vya bikoresho vyose vy’ihema, 8 ya meza+ n’ibikoresho vyayo, kimwe baterekako amatara c’inzahabu itavanze n’ibikoresho vyaco vyose+, ca gicaniro c’imibavu+, 9 ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ n’ibikoresho vyaco vyose, ca kibesani* n’ico bagiterekako+, 10 za mpuzu zijishe neza, za mpuzu nyeranda za Aroni umuherezi, za mpuzu abahungu biwe bazokwambara bariko bakora igikorwa c’abaherezi+, 11 ya mavuta meranda* hamwe na ya mibavu imota neza y’ahantu heranda+. Bazokora ibintu vyose nagutegetse.»
12 Yehova yongera kubarira Musa ati: 13 «Bwira Abisirayeli uti: “Muze mwitwararike kwubahiriza amasabato yanje+, kuko ari ikimenyetso kiri hagati yanje namwe, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana, kugira mumenye ko jewe Yehova ndiko ndabeza. 14 Mutegerezwa kwubahiriza isabato kuko ari nyeranda kuri mwebwe+. Umuntu wese atazoyubahiriza* ategerezwa gupfa. Uwuzokora igikorwa ico ari co cose kuri uwo musi abwirizwa kwicwa*+. 15 Muzokora ibikorwa imisi itandatu, ariko umusi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+. Ni mweranda kuri Yehova. Umuntu wese azokora ku musi w’isabato ategerezwa kwicwa. 16 Abisirayeli bategerezwa kwubahiriza isabato. Bategerezwa kuyubahiriza uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. Ni isezerano ryamaho. 17 Ni ikimenyetso camaho hagati yanje n’Abisirayeli+, kuko jewe Yehova naremye ijuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma ku musi ugira indwi ndahagarika, ndaruhuka+.”»
18 Imana igiheza kuvugana na Musa ku musozi Sinayi, ica imuha ibisate bibiri biriko amabwirizwa*+, ibisate vy’amabuye yanditseko n’urutoke rwayo+.
32 Muri uwo mwanya, abantu babona ko Musa yari atevye kugaruka ava ku musozi+. Baca bakoranira kuri Aroni, bamubwira bati: «Duhingurire imana izotuja imbere+ kuko tutazi ivyashikiye uwo Musa, wa mugabo yadukura mu gihugu ca Misiri.» 2 Aroni abishura ati: «Tora amahereni y’inzahabu+ ari ku matwi y’abagore banyu, abahungu banyu n’abakobwa banyu maze muyanzanire.» 3 Abantu bose baca batangura gukura amahereni y’inzahabu bambaye ku matwi maze bayazanira Aroni. 4 Na we atora izo nzahabu, azihinguramwo igishusho* c’inyana akoresheje icuma*+. Baca batangura kuvuga bati: «Ewe Isirayeli, ng’iyi Imana yawe yagukuye mu Misiri+.»
5 Aroni ngo abibone, aca yubaka igicaniro imbere y’ico gishusho maze asemerera ati: «Ejo hariho umusi mukuru wa Yehova.» 6 Nuko bavyuka kare mu gitondo, batangura gushikana amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira. Ivyo biheze, baricara kugira barye bongere banywe. Hanyuma barahaguruka kugira biryohere+.
7 Yehova aca abwira Musa ati: «Genda manuka, kuko abantu bawe wakuye mu Misiri bakoze ivy’ubupfu+. 8 Bataye ningoga inzira nabategetse kugenderamwo+. Bihinguriye igishusho c’inyana, kandi baguma bacunamira bongera bagishikanira ibimazi, bavuga ngo: “Ewe Isirayeli, ng’iyi Imana yawe yagukuye mu Misiri.”» 9 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Nabonye ko aba bantu ari intumva*+. 10 Ubu rero reka nkwereke: ngira ndabarandure n’ishavu n’akantu, hanyuma ndagukuremwo ihanga rikomeye mu kibanza cabo+.»
11 Musa aca atakambira Yehova Imana yiwe+ ati: «Kubera iki ga Yehova worakarira abantu bawe wakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+? 12 Ushaka Abanyamisiri birirwe baravuga ngo: “Bwa bundi yabakuye ino kugira abagirire nabi. Yashaka kubicira mu misozi kugira abazimanganye kw’isi+.” Ndakwinginze utsinde ishavu, uhindure* ingingo wafashe yo guteza ivyago abantu bawe. 13 Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Isirayeli, abo wewe ubwawe warahiye uti: “Nzogwiza uruvyaro* rwanyu nk’inyenyeri zo mu kirere+, kandi iki gihugu cose navuze nzogiha uruvyaro rwanyu, kugira rucigabire ibihe vyose+.”»
14 Yehova aca arahindura ingingo yari yafashe, ntiyateza abantu biwe ivyago yari yavuze+.
15 Musa aca ava ku musozi aramanuka, afise mu minwe+ vya bisate bibiri biriko amabwirizwa*+. Vyari vyanditseko ku mpande zose, imbere n’inyuma. 16 Ivyo bisate vyari vyakozwe n’Imana, kandi n’inyandiko yari kuri vyo yari yanditswe* n’Imana+. 17 Yosuwa yumvise urwamo rw’abantu kubera bariko bavuza induru, abwira Musa ati: «Hari urwamo rw’intambara mw’ikambi.» 18 Mugabo Musa amwishura ati:
«Si urwamo rw’abaririmba bigina intsinzi*,
kandi si urwamo rw’abarira kubera batsinzwe.
Ndiko numva urwamo rw’indirimbo z’ubundi bwoko.»
19 Musa ashitse hafi y’ikambi akabona ca gishusho c’inyana+ n’ingene bariko baratamba, aca ararungura n’ishavu maze aterera hasi vya bisate vy’amabuye vyari mu minwe yiwe, abisabiriza munsi y’umusozi+. 20 Aca afata ca gishusho c’inyana bari bakoze aragiturira, aragisya gicika ifu+. Araheza ayimijagira ku mazi maze ayanywesha Abisirayeli+. 21 Musa aca abaza Aroni ati: «Aba bantu bakugize iki ku buryo ubakwegera igicumuro gikomeye gutya?» 22 Aroni amwishura ati: «Ntushavure databuja*, usanzwe uzi neza ko aba bantu bakunda gukora ikibi+. 23 Bambwiye bati: “Duhingurire imana izotuja imbere kuko tutazi ivyashikiye uwo Musa, wa mugabo yadukura mu gihugu ca Misiri+.” 24 Nanje nabishuye nti: “Abambaye inzahabu mwese nimuzikure muzimpe.” Naciye ndaziterera mu muriro, haca havamwo iyo nyana.»
25 Musa abona ko abantu bari bisutse mu kibi kuko Aroni yari yabarekeranye, ku buryo bakora ibintu biteye isoni imbere y’abansi babo. 26 Musa aca ahagarara mw’irembo ry’ikambi maze avuga ati: «Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova? Naze aha ndi+!» Abalewi bose baca bakoranira aho ari. 27 Aca ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Umwe wese natore inkota yiwe anyuragire irya n’ino mw’ikambi, yice mwenewabo, umubanyi wiwe n’umugenzi wiwe somambike+.”» 28 Abalewi baca bakora ivyo Musa ababwiye, bica nk’abagabo 3.000 kuri uwo musi. 29 Musa yongera kubabwira ati: «Nimwiyegurire igikorwa ca Yehova uno musi, kuko umwe wese yemeye kwica umuhungu wiwe na mwenewabo+. Uno musi Imana irabaha umuhezagiro+.»
30 Bukeye, Musa abwira abantu ati: «Igicumuro mwakoze kirakomeye cane. Ubu rero ngira nduge ku musozi gutakambira Yehova, ndabe ko yoharira igicumuro canyu+.» 31 Nuko Musa asubira kwa Yehova, avuga ati: «Igicumuro aba bantu bakoze kirakomeye cane! Bubahutse kwihingurira inyana y’inzahabu+! 32 Ubu rero nimba bishoboka, ndakwinginze ubaharire igicumuro cabo+. Atari ukwo, ndagusavye umpanagure mu gitabu cawe+.» 33 Ariko Yehova amwishura ati: «Uwancumuyeko ni we nzohanagura mu gitabu canje. 34 Ubu rero genda, ujane abo bantu aho nakubwiye, kandi umumarayika wanje azogendera imbere yawe+. Umusi hageze ko ndababaza ivyo bakoze, nzobahanira ikosa ryabo.» 35 Yehova aca atangura guteza abantu ivyago kubera bari bahinguye ya nyana, imwe Aroni yari yabakoreye.
33 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Genda muve ng’aha, mwe n’abantu wakuye mu Misiri. Nimugende mu gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo nti: “Nzogiha uruvyaro* rwanyu+.” 2 Nzorungika umumarayika imbere yanyu+, kandi nzokwirukana Abanyakanani, Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 3 Nimuduge mu gihugu gitemba amata n’ubuki+. Ariko sinzodugana namwe kuko muri intumva*+. Nohava ndabicira mu nzira+.»
4 Aho abantu bumviye ayo majambo akomeye, baca barababara cane*. Nta n’umwe yasubiye kwambara udusharizo twiwe. 5 Yehova aca abwira Musa ati: «Bwira Abisirayeli uti: “Muri intumva+. Mu kanya isase nobiraramwo nkabamara mwese+. Ubu rero, nimube murakura udusharizo twanyu mu kurindira ko menya uko ndabagira.”» 6 Nuko Abisirayeli ntibasubira kwambara udusharizo twabo kuva ku musozi Horebu.
7 Musa aca afata ihema ryiwe, aja kurishinga hanze kure gato y’ikambi, araheza aryita ihema ry’ibonaniro. Umuntu wese afise ico abaza Yehova+ yaca aja kuri iryo hema ry’ibonaniro ryari hanze y’ikambi. 8 Igihe Musa asohotse akaja kuri iryo hema, abantu bose baca bahaguruka bagahagarara imbere y’amahema yabo, bakaguma bamuraba gushika aryinjiyemwo. 9 Akimara kuryinjiramwo, ya nkingi y’igicu+ yaca imanuka igahagarara ku muryango w’ihema maze Imana ikavugana na we+. 10 Abantu bose babonye ya nkingi y’igicu ihagaze imbere y’umuryango w’iryo hema, umwe wese yaca ahaguruka maze akunama ari imbere y’umuryango w’ihema ryiwe. 11 Yehova yavugana na Musa amaso mu yandi+, nk’uko umuntu avugana na mugenziwe. Igihe Musa agarutse mw’ikambi, Yosuwa+ mwene Nuni, umufasha wiwe akaba n’umusuku wiwe+ ntiyasubira kuva mw’ihema.
12 Hanyuma Musa abwira Yehova ati: «Uriko umbwira ngo: “Jana aba bantu”, ariko nturambwira uwo uzorungika ngo tujane. Vyongeye, wambwiye uti: “Ndakuzi neza* kandi waragiriwe ubuntu imbere yanje.” 13 Nimba nagiriwe ubuntu imbere yawe, ndakwinginze umenyeshe inzira zawe+, kugira ndakumenye, ubandanye kungirira ubuntu. Wibuke kandi ko iri hanga ari rwawe+.» 14 Amwishura ati: «Jewe ubwanje nzojana nawe+ kandi nzoguha akaruhuko+.» 15 Musa aca amubwira ati: «Nutaza wewe nyene ngo tujane, ntiwirirwe uradukura ng’aha. 16 None bizomenyekana gute ko jewe n’abantu bawe twagiriwe ubuntu imbere yawe? Si uko wojana natwe+, kugira biboneke ko dutandukanye n’abandi bantu bose bo kw’isi+?»
17 Yehova yishura Musa ati: «N’ico nyene unsavye nzogikora, kuko wagize ubuntu imbere yanje kandi nkaba ndakuzi neza*.» 18 Musa aca avuga ati: «Ndakwinginze unyereke ubuninahazwa bwawe.» 19 Ariko amwishura ati: «Nzokwereka ukumera neza kwanje kwose kandi nzokumenyesha izina ryanje Yehova+. Nzogirira ubuntu uwo nshaka kubugirira, kandi nzogirira imbabazi uwo nshaka kuzigirira+.» 20 Yongerako ati: «Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abandanye kubaho.»
21 Yehova amubwira kandi ati: «Ehe ikibanza hafi yanje. Uze guhagarara ku gitandara kihari. 22 Ubuninahazwa bwanje nibwarengana, nzogushira mu mugaga w’ico gitandara, ndagukingirize ikiganza canje gushika ndenganye. 23 Hanyuma nzokuraho ikiganza canje, nawe uzombona mu mugongo. Ariko mu maso hanje ntushobora kuhabona+.»
34 Maze Yehova abwira Musa ati: «Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, nanje nzokwandika kuri ivyo bisate amajambo yari kuri vya bisate vya mbere+ wamena+. 2 Ejo uzobe witeguye, kuko mu gitondo uzoduga ku musozi Sinayi hanyuma uhagarare imbere yanje, kw’isonga ry’uwo musozi+. 3 Ariko ntihaze hagire umuntu n’umwe mudugana. Nta wundi muntu akwiye kuba ari kuri uwo musozi, kandi ntihaze hagire n’ibitungwa birisha iruhande yawo+.»
4 Musa rero abaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere, araheza avyuka kare mu gatondo, aduga ku musozi Sinayi nk’uko Yehova yari yabimutegetse. Yari afise mu ntoke ivyo bisate bibiri vy’amabuye. 5 Nuko Yehova amanuka+ mu gicu, ahagararana na Musa ng’aho maze amumenyesha izina ryiwe, ari ryo Yehova+. 6 Yehova aca imbere yiwe, amumenyesha ati: «Ndi Yehova, ndi Yehova, Imana y’imbabazi+ n’impuhwe*+, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+ n’ukuri*+. 7 Ngaragariza abantu urukundo* gushika ku mvyaro ibihumbi+, nkababarira ikosa, ikigabitanyo n’igicumuro+, mugabo sinigera ndeka guhana uwagirwa n’icaha+. Mpana abana n’abuzukuru kubera ikosa rya ba se, gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane+.»
8 Ubwo nyene Musa aca arunama, mu maso hashika hasi. 9 Hanyuma avuga ati: «Nimba nagiriwe ubuntu imbere yawe, ewe Yehova, ndakwinginze Yehova, ugendere hagati yacu+ naho turi abantu b’intumva*+, kandi uduharire ikosa ryacu n’igicumuro cacu+, udufate nk’ihanga ryawe bwite.» 10 Amwishura ati: «Ehe ngiranye isezerano nawe: imbere y’abantu bawe bose, nzokora ibintu vy’agatangaza bitari bwigere bibaho kw’isi yose canke mu mahanga yose+. Amahanga yose muzobamwo azobona ibikorwa vyanje jewe Yehova, kuko ngira nkorane namwe ikintu giteye ubwoba+.
11 Mwitwararike ivyo ndabategetse uno musi+. Ngira nirukane Abamori, Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi bave imbere yanyu+. 12 Mwiyubare ntimuze mugirane isezerano n’ababa mu gihugu mugiyemwo+, kuko vyohava bibabera umutego+. 13 Ahubwo muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye, mwicire n’inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+. 14 Ntimuze mwunamire izindi mana+, kuko jewe Yehova ndi Imana isaba gusengwa yonyene*. Egome, ndi Imana isaba gusengwa yonyene*+. 15 Mwiyubare ntimuze mugiranire isezerano n’ababa muri ico gihugu, kuko bazohava basambana n’imana zabo kandi bakazishikanira ibimazi+ hanyuma bakabatumira mukarya ku bimazi vyabo+. 16 Ntimuzobura rero gusabira abahungu banyu abakobwa babo+, kandi abo bakobwa bazosambana n’imana zabo, bitume abahungu banyu basambana n’imana zabo+.
17 Ntimukihingurire imana zikozwe mu cuma*+.
18 Muze muhimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Nk’uko nabibategetse, muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro, igihe nashinze co mu kwezi kwa Abibu* kigeze+, kuko muri ukwo kwezi ari ho mwavuye mu Misiri.
19 Abahungu bose b’imfura ni rwanje+, kandi n’igitungwa cose c’ikigabo kivutse ubwa mbere ni rwanje, yaba ari inka canke intama+. 20 Indogobwa yose ivutse ubwa mbere muze muyicunguze intama. Ariko nimutayicungura, muze muyivune izosi. Kandi muze mucungure umuhungu wese w’imfura mu bana banyu+. Nta n’umwe akwiye kuza imbere yanje iminwe misa.
21 Muzokora ibikorwa mu misi itandatu, ariko ku musi ugira indwi muzoruhuka*+. Muzoruhuka naho hazoba ari mu gihe c’irima canke c’iyimbura.
22 Muzohimbaza umusi mukuru w’amayinga mukoresheje ingano zeze ubwa mbere hamwe n’umusi mukuru wo gusozera iyimbura* mu mpera z’umwaka+.
23 Gatatu mu mwaka, abagabo bose babwirizwa kuza imbere ya Yehova Umukama w’ukuri, Imana ya Isirayeli+. 24 Nzokwirukana amahanga ave imbere yanyu+, kandi nzokwagura akarere kanyu. Nta n’umwe azokwipfuza kwigarurira igihugu canyu igihe muzoba mwaje imbere ya Yehova Imana yanyu gatatu mu mwaka.
25 Ntimuze mushikane amaraso y’ikimazi canje ari kumwe n’ibintu birimwo umwambiro+. Ikimazi c’umusi mukuru wa pasika ntigikwiye kurara+.
26 Uzozana ku nzu ya Yehova Imana yawe ivyimburwa vyizavyiza mu vyeze ubwa mbere mu mirima yawe+.
Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.»
27 Yehova yongera kubwira Musa ati: «Andika ayo majambo+, kuko isezerano ngiranye nawe n’Abisirayeli rishingiye kuri yo+.» 28 Nuko aguma ng’aho imisi 40 n’amajoro 40 ari kumwe na Yehova. Nta mukate yarya kandi nta n’amazi yanywa+. Araheza yandika kuri vya bisate amajambo y’iryo sezerano, ya mabwirizwa cumi*+.
29 Musa aca aramanuka umusozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate bibiri biriko amabwirizwa*+. Igihe yamanuka umusozi, ntiyari azi ko mu maso hiwe hariko harekura imishwarara kubera yari yamye avugana n’Imana. 30 Aroni n’Abisirayeli bose bitegereje Musa, babona mu maso hiwe hariko harekura imishwarara. Baca baratinya kumwegera+.
31 Ariko Musa aca arabahamagara. Aroni n’abakuru bose b’ishengero ry’Abisirayeli baca baraza, Musa atangura kubavugisha. 32 Hanyuma Abisirayeli bose na bo baramwegera, na we abashikiriza amabwirizwa yose Yehova yari yamuhaye ku musozi Sinayi+. 33 Igihe Musa ahejeje kuvugana na bo, yaca yitwikira igitambara mu maso+. 34 Ariko igihe yinjiye imbere ya Yehova kuvugana na we, yaca akura ico gitambara+. Maze yarasohoka, akamenyesha Abisirayeli amabwirizwa Imana yamuhaye+. 35 Abisirayeli barabona ko mu maso ha Musa harekura imishwarara. Yaca yongera kwitwikira igitambara mu maso gushika asubiye kwinjira mw’ihema kuvugana n’Imana+.
35 Mu nyuma, Musa akoranya ishengero ryose ry’Abisirayeli, ababwira ati: «Ibi ni vyo Yehova yabategetse gukora+: 2 muzokora ibikorwa imisi itandatu, ariko umusi ugira indwi ni mweranda kuri mwebwe. Ni umusi wa Yehova, isabato y’akaruhuko kuzuye+. Umuntu wese azokora kuri uwo musi ategerezwa kwicwa+. 3 Ntimuzocane umucanwa ahantu na hamwe muba ku musi w’isabato.»
4 Musa abandanya kubwira ishengero ryose ry’Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova abategetse: 5 “Nimutore intererano muha Yehova ivuye ku vyo mutunze+. Umuntu wese avyipfuza*+ nazanire intererano Yehova: inzahabu, ifeza, umujumpu, 6 inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama, inyuzi z’ilino* nziza, ubwoya bw’impene+, 7 inshato z’impfizi z’intama zisize ibara ritukura, inshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, imbaho z’igiti c’umunyinya, 8 amavuta yo gushira mu matara, utuvuta tumota neza* bashira mu mavuta meranda no mu mibavu+, 9 utubuye twa onigisi n’utundi tubuye tw’agaciro two kumadika kuri efodi+ no kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+.
10 Abantu bose b’abahinga+ muri mwebwe nibaze bakore ibintu vyose Yehova yategetse, 11 ni ukuvuga rya hema ryeranda, ibitambara vyo kuripfuka, udufatanisho twaryo, ibizingiti* vyaryo, udukoni twaryo, inkingi zaryo n’udutafari dutoboye twaryo; 12 ya sandugu+, ibibando* vyayo+, umufuniko wayo+ na ya rido+ y’igikingirizo; 13 ya meza+, ibibando vyayo, ibikoresho vyayo vyose n’imikate y’ishikanwa*+; 14 ca kintu baterekako amatara+, ibikoresho vyaco, amatara yaco n’amavuta yo kwatsa amatara+; 15 ca gicaniro c’imibavu+ n’ibibando vyaco; ya mavuta meranda na ya mibavu+ imota neza; ya rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema ryeranda; 16 ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+, akayungiro kaco k’umujumpu, ibibando vyaco n’ibikoresho vyaco vyose; ca kibesani* n’ico bagiterekako+; 17 vya bitambara bigize uruzitiro rw’ikigo+, inkingi zayo n’udutafari dutoboye twazo; ya rido* yo kw’irembo ry’ikigo; 18 za mambo z’ihema ryeranda n’imambo z’uruzitiro be n’imigozi yazo+; 19 za mpuzu zijishe neza+ zikoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema, za mpuzu nyeranda za Aroni+ umuherezi na za mpuzu abahungu biwe bazokwambara kugira bakore igikorwa c’abaherezi.”»
20 Ishengero ryose ry’Abisirayeli rica riragenda, riva imbere ya Musa. 21 Maze abantu bose bafise umutima wo gutanga+, bazana intererano bahaye Yehova kugira zikoreshwe mu kwubaka rya hema ry’ibonaniro, mu bikorwa vyaryo vyose no mu gukora za mpuzu nyeranda. 22 Abagabo n’abagore bavyipfuza* baguma bazana udukwashu, amahereni, impeta n’utundi dusharizo hamwe n’ibindi bikoresho vy’inzahabu. Bose bazanira Yehova amashikanwa* y’inzahabu+. 23 Abantu bose bari bafise inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama, inyuzi z’ilino nziza, ubwoya bw’impene, inshato z’intama zisize ibara ritukura hamwe n’inshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, barabizana. 24 Abantu bose bipfuza gushikanira Yehova ifeza n’umujumpu barabizana, kandi abantu bose bari bafise imbaho z’ibiti vy’umunyinya zokoreshwa muri ico gikorwa barazizana.
25 Abagore bose b’abahinga+ barahingura inyuzi n’amaboko yabo maze bakazana izo bahinguye*, ni ukuvuga inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama hamwe n’inyuzi z’ilino nziza. 26 Nuko abagore bose b’abahinga umutima usunitse, bahingura inyuzi mu bwoya bw’impene.
27 Abakuru b’ishengero na bo bazana utubuye twa onigisi, n’utundi tubuye tw’agaciro two kumadika kuri efodi no kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+, 28 utuvuta tumota neza* n’amavuta bashira mu matara, mu mavuta meranda+ no mu mibavu+. 29 Abagabo n’abagore bose babishatse*, bazana ibintu vyo gukora igikorwa Yehova yari yategetse biciye kuri Musa. Nuko Abisirayeli babizanira Yehova nk’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye+.
30 Maze Musa abwira Abisirayeli ati: «Ehe raba Yehova yatoye Bezaleli umuhungu wa Uri, Uri umuhungu wa Huru wo mu muryango wa Yuda+. 31 Yamwujuje impwemu y’Imana kugira aronke ubukerebutsi, ugutegera n’ubumenyi bw’ubwoko bwose bw’ubuhinga, 32 kugira ategure ibikorwa vy’ubuhinga, acure ibintu mu nzahabu, mw’ifeza no mu mujumpu, 33 kugira abaze amabuye yongere ayatere no kugira ahingure ibintu vy’ubwoko bwose bikorwa mu biti. 34 Kandi we hamwe na Oholiyabu+ umuhungu wa Ahisamaki wo mu muryango wa Dani, yabahaye ubushobozi bwo kwigisha. 35 Yabujujemwo ubuhinga+ kugira bakore ibikorwa vyose vy’utugenegene, ivyo kudesa, ivyo kujisha inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza, hamwe n’ubundi bwoko bwose bwo kujisha. Abo bagabo bazokora ibikorwa vy’ubwoko bwose bongere bategure ibikorwa vy’ubuhinga vy’ubwoko bwose.»
36 «Bezaleli azokorana na Oholiyabu n’abandi bahinga bose Yehova yahaye ubukerebutsi nʼugutegera, kugira bakore ibintu vyose bizokoreshwa mu gikorwa ceranda, nk’uko Yehova yabitegetse+.»
2 Nuko Musa ahamagara Bezaleli na Oholiyabu, n’umuhinga wese Yehova yahaye ubukerebutsi+, umuntu wese umutima usunitse kuza gukora ico gikorwa avyishakiye+. 3 Batora intererano zose+ Abisirayeli bari bazanye kwa Musa ku bw’igikorwa ceranda. Ariko Abisirayeli baguma bazanira Musa intererano batanga bavyishakiye buri gitondo.
4 Bamaze gutangura ico gikorwa ceranda, ba bahinga bose baguma baza bakurakuranwa, 5 bakabwira Musa bati: «Ibintu abantu bariko barazana birarengeye kure n’iyo ivyo dukeneye ku bw’igikorwa Yehova yadutegetse.» 6 Musa aca ategeka yuko batangaza mw’ikambi yose bati: «Bagabo namwe bagore, ntimusubire kuzana ibindi bikoresho vy’intererano nyeranda.» Ukwo ni ko babujije abantu kuzana ibindi. 7 Ivyo bikoresho vyari bikwiye ku bw’igikorwa cari gikenewe, mbere vyari birenze.
8 Abo bahinga bose+ rero bubaka rya hema ryeranda+, bakoresheje ibitambara cumi bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe* be n’inyuzi zisa n’agahama. Yabikoze* bidesheko abakerubi+. 9 Igitambara kimwekimwe cari gifise uburebure bw’intambwe* 28 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Vyose vyarangana. 10 Maze ateranya ibitambara bitanu ukwavyo, ateranya n’ibindi bitanu ukwavyo. 11 Aca akora ibigombo mu nyuzi zisa n’ubururu ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo yateranije ubwa mbere. Abigenza gutyo no ku mpera y’ica nyuma mu vyo yateranije ubwa kabiri, aho bizofatanirizwa. 12 Akora ibigombo 50 ku gitambara kimwe, n’ibindi 50 ku mpera y’ikindi gitambara, abikora bitumberanye aho bizofatanirizwa. 13 Amaherezo, akora udufatanisho 50 mu nzahabu, hanyuma adufatanisha ivyo bitambara biba ihema rimwe.
14 Araheza akora ibitambara 11 mu bwoya bw’impene vyo gupfuka iryo hema ryeranda+. 15 Igitambara kimwekimwe cari gifise uburebure bw’intambwe 30 n’ubwaguke bw’intambwe 4. Ivyo bitambara 11 vyose vyarangana. 16 Maze ateranya ibitambara bitanu ukwavyo, ateranya n’ibindi bitandatu bisigaye. 17 Hanyuma akora ibigombo 50 ku mpera y’igitambara ca nyuma mu vyo yateranije ubwa mbere, akora n’ibindi 50 ku mpera y’ica nyuma mu vyo yateranije ubwa kabiri, aho bizofatanira. 18 Akora n’udufatanisho 50 mu mujumpu kugira afatanye ivyo bitambara, bibe ihema rimwe.
19 Hanyuma akora igitambara co gupfuka iryo hema mu nshato z’intama zisize ibara ritukura. Akora n’ikindi co kurenza hejuru yaco mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi*+.
20 Maze akora ibizingiti* vy’iryo hema ryeranda mu giti c’umunyinya+, araheza arabishinga+. 21 Ikizingiti cose cari gifise uburebure bw’intambwe cumi n’ubwaguke bw’intambwe imwe n’igice. 22 Kimwekimwe cose cari gifise amasonga* abiri atumberanye*. Ukwo ni ko yakoze ibizingiti vyose vy’iryo hema. 23 Akora ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. 24 Hanyuma akora mw’ifeza udutafari 40 dutoboye two kuja munsi y’ivyo bizingiti 20. Ashira udutafari tubiri munsi y’amasonga abiri y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’amasonga y’ibizingiti bikurikira+. 25 Akora kandi ibizingiti 20 vyo ku ruhande rwo mu buraruko bw’iryo hema 26 n’udutafari 40 twavyo dutoboye dukozwe mw’ifeza. Ashira udutafari tubiri munsi y’ikizingiti ca mbere, tundi tubiritubiri munsi y’ibizingiti bikurikira.
27 Uruhande rw’inyuma rw’iryo hema, amaja mu burengero, arukorera ibizingiti bitandatu+. 28 Akora kandi ibizingiti bibiri ngo bibe inkingi mu mfuruka zibiri z’inyuma kuri iryo hema. 29 Vyari bigizwe n’imbaho zibirizibiri kuva hasi gushika hejuru ku mukono* wa mbere. Ukwo ni ko yagize kuri izo nkingi zibiri zo mu mfuruka. 30 Vyari ibizingiti umunani n’udutafari 16 twavyo dukozwe mw’ifeza: udutafari tubiri munsi y’ikizingiti kimwekimwe.
31 Maze akora mu giti c’umunyinya udukoni two gufata ibizingiti. Ashira dutanu ku ruhande rumwe rw’ihema+, 32 dutanu ku rundi ruhande, n’utundi dutanu ku ruhande rw’ihema rwo mu burengero, ni ukuvuga igice c’inyuma. 33 Akora n’agakoni gafata ibizingiti hagati na hagati, kava ku mpera imwe kagashika ku yindi. 34 Hanyuma ahomeka inzahabu kuri ivyo bizingiti, abikorera n’imikono y’inzahabu yo kwinjizamwo twa dukoni. Ahomeka inzahabu no kuri utwo dukoni+.
35 Hanyuma akora irido+ mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Ayidesako abakerubi+. 36 Aca ayikorera inkingi zine mu giti c’umunyinya, azihomekako inzahabu. Araheza akora udusumari tw’izo nkingi mu nzahabu, akora n’udutafari tune twazo mw’ifeza. 37 Hanyuma akora iyindi rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Vyose abijishira hamwe+. 38 Akora kandi inkingi zitanu zayo n’udusumari* tw’izo nkingi. Ahomeka inzahabu ku mitwe yazo no ku dusumari twazo, ariko udutafari dutanu twazo twari dukozwe mu mujumpu.
37 Hanyuma Bezaleli+ akora ya sandugu+ mu giti c’umunyinya. Yari ifise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice, ubwaguke bw’intambwe n’igice n’amahagarara y’intambwe n’igice*+. 2 Ayihomekako inzahabu itavanze imbere n’inyuma, ayikorera n’urugori rw’inzahabu ruyikikuje+. 3 Inyuma y’ivyo, ayikorera imikono* ine mu nzahabu ishongeshejwe, ayimadika hejuru y’amaguru yayo ane. Ashira imikono ibiri ku ruhande rumwe, yindi ibiri ku rundi ruhande. 4 Araheza akora ibibando* mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu+. 5 Maze acisha ivyo bibando muri ya mikono iri ku mpande z’iyo sandugu kugira babikoreshe mu kuyirerura+.
6 Akora na wa mufuniko+ mu nzahabu itavanze. Wari ufise uburebure bw’intambwe zibiri n’igice n’ubwaguke bw’intambwe n’igice+. 7 Akora kandi abakerubi*+ babiri mu nzahabu, abacurisha inyundo ku mpera zibiri z’uwo mufuniko+. 8 Umukerubi umwe yari ku mpera imwe, uwundi ku yindi mpera. Yabakoreye ku mpera zibiri z’uwo mufuniko. 9 Abo bakerubi babiri bari bashanje amababa yabo araba hejuru, bayakingirije umufuniko w’isandugu+. Bararabana, kandi bari bunamye mu maso habo haraba ku mufuniko+.
10 Hanyuma akora ya meza mu giti c’umunyinya+. Yari ifise uburebure bw’intambwe zibiri, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe n’igice+. 11 Aca ayihomekako inzahabu itavanze, ayikorera n’urugori rw’inzahabu ruyikikuje. 12 Ayikorera kandi akarate kayikikuza, gafise ubwaguke bungana n’ikiganza*, akora n’urugori rw’inzahabu rukikuje ako karate. 13 Vyongeye, ayikorera imikono ine mu nzahabu ishongeshejwe, araheza ayishira ku mpande zayo zine, aho amaguru afatanira n’imeza. 14 Iyo mikono yari hafi ya ka karate, kugira bayicishemwo ibibando vyo kurerura iyo meza. 15 Maze akora ibibando vyo kurerura iyo meza. Abikora mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu. 16 Inyuma y’ivyo, akora ibikoresho vyo ku meza mu nzahabu itavanze, ni ukuvuga amasahani n’ibikombe, akora n’amabakure hamwe n’amajage* vyo gusuka amashikanwa y’ibinyobwa+.
17 Hanyuma akora ca kintu baterekako amatara+, agicurisha inyundo mu nzahabu itavanze. Icicariro caco, umutumba waco, amashami yaco, utubabi twaco, udupfundo twaco n’amashurwe yaco vyari bifatanye, ari ikintu kimwe+. 18 Cari gifise amashami atandatu ava ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe, yandi atatu ku rundi ruhande. 19 Ishami ryose ryo ku ruhande rumwe ryariko imigwi itatu y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. Ni ko vyari bimeze no ku mashami yo ku rundi ruhande. Vyari bimeze gutyo ku mashami yose atandatu ava ku mutumba waco. 20 Umutumba waco wariko imigwi ine y’utubabi imeze nk’amashurwe ya shakedi, amapfundo n’amashurwe bikaza birakurakuranwa. 21 Munsi y’aho amashami abiri ya mbere ahurira ku mutumba hariho ipfundo. Hariho n’irindi pfundo munsi y’aho amashami abiri akurikira ahurira, hamwe n’irindi munsi y’aho amashami abiri ya nyuma ahurira. Vyari bimeze gutyo kuri ayo mashami atandatu yose. 22 Ico kintu baterekako amatara, amapfundo yaco n’amashami yaco vyari ikintu kimwe, gicurishijwe inyundo mu nzahabu itavanze. 23 Maze akora mu nzahabu itavanze amatara indwi+ yaco, udupensi* twaco n’udupanu twaco tujamwo umuriro. 24 Ico kintu baterekako amatara hamwe n’ibikoresho vyaco vyose, yabikoze mw’italanto* imwe y’inzahabu itavanze.
25 Hanyuma akora ca gicaniro c’imibavu+ mu giti c’umunyinya. Cari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe imwe, ubwaguke bw’intambwe imwe n’amahagarara y’intambwe zibiri. Amahembe yaco yari afatanye na co+. 26 Aca agihomekako inzahabu itavanze hejuru, ku mpande zaco zose no ku mahembe yaco. Agikorera n’urugori* rw’inzahabu rugikikuje. 27 Agikorera kandi imikono ibiri y’inzahabu munsi y’urwo rugori, ku mpande zibiri zaco zibangabanganye. Iyo mikono yari iyo gufata ibibando vyo kukirerura. 28 Inyuma y’ivyo, akora ibibando mu giti c’umunyinya hanyuma abihomekako inzahabu. 29 Akora kandi ya mavuta meranda yo kurobanuza+ hamwe na ya mibavu+ imota neza kandi ityoroye. Vyose vyari bivanze ku buhinga*.
38 Hanyuma akora ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa mu giti c’umunyinya. Cari ikwadarato ifise uburebure bw’intambwe* zitanu, ubwaguke bw’intambwe zitanu n’amahagarara y’intambwe zitatu+. 2 Aca akora amahembe yaco ku mfuruka zaco zine, kandi ayo mahembe yari afatanye na co. Araheza agihomekako umujumpu+. 3 Inyuma y’ivyo, akora ibikoresho vyose vy’ico gicaniro, ni ukuvuga utudobo, ibipawa, amabakure, amakanya n’udupanu tujamwo umuriro. Ibikoresho vyaco vyose yabikoze mu mujumpu. 4 Agikorera kandi akayungiro k’umujumpu, agashira munsi y’imbiga zaco, akamanura hagati na hagati yaco. 5 Akora imikono* ine ku mfuruka zine zaco hafi ya ka kayungiro k’umujumpu, kugira izofate ibibando* vyo kugiterura. 6 Hanyuma akora ibibando mu giti c’umunyinya, abihomekako umujumpu. 7 Araheza acomeka ivyo bibando mu mikono iri ku mpande z’ico gicaniro, kugira babikoreshe mu kukirerura. Yagikoze nk’isandugu y’imbaho irangaye.
8 Aca akora mu mujumpu ca kibesani*+ be n’ico bagiterekako. Yabikoze mu vyirore* vy’abagore bakorera* ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.
9 Mu nyuma atunganya ikigo+. Ku ruhande rwo mu bumanuko rw’ico kigo ahazitiza ibitambara bikozwe mu nyuzi z’ilino* nziza zitsivye, bifise uburebure bw’intambwe 100+. 10 Rwari rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho* twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 11 Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwariko ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 100. Rwari rufise inkingi 20 n’udutafari 20 dutoboye bikozwe mu mujumpu. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 12 Ariko uruhande rwo mu burengero rwariko ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 50. Rwari rufise inkingi cumi n’udutafari dutoboye cumi. Udusumari tw’izo nkingi n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. 13 Ubwaguke bwo ku ruhande rwo mu buseruko bwangana n’intambwe 50. 14 Ku ruhande rumwe rw’irembo hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye. 15 Ku rundi ruhande rw’irembo ry’ikigo, hari ibitambara bifise uburebure bw’intambwe 15, hamwe n’inkingi zitatu n’udutafari dutatu dutoboye. 16 Ibitambara vyose vyari bikikuje ico kigo vyari bikozwe mw’ilino nziza itsivye. 17 Udutafari dutoboye tw’izo nkingi twari dukozwe mu mujumpu. Udusumari twazo n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. Imitwe y’izo nkingi yari ihometseko ifeza, kandi udufatanisho tw’inkingi zose zikikuje ico kigo twari dukozwe mw’ifeza+.
18 Irido* yo kw’irembo ry’ico kigo yari ijishwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye. Yari ifise uburebure bw’intambwe 20 n’amahagarara y’intambwe 5, kandi yanganya amahagarara n’ibitambara vyari bigize ico kigo+. 19 Inkingi zayo zine n’udutafari twazo dutoboye vyari bikozwe mu mujumpu. Udusumari twazo n’udufatanisho twazo vyari bikozwe mw’ifeza. Imitwe y’izo nkingi yari ihometseko ifeza. 20 Imambo zose z’iryo hema ryeranda n’iz’uruzitiro zari zikozwe mu mujumpu+.
21 Ng’uru urutonde rw’ivyakoreshejwe mu kwubaka rya hema ryeranda, ni ukuvuga ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*+. Musa ni we yategetse Abalewi+ kugira urwo rutonde, bahagarikiwe na Itamari+ umuhungu wa Aroni umuherezi. 22 Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri umuhungu wa Huru wo mu muryango wa Yuda, yakoze ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose. 23 Yari kumwe na Oholiyabu+ umuhungu wa Ahisamaki wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu gukora ibikorwa vyose vy’utugenegene, ivyo kudesa, ivyo kujisha ukoresheje inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza.
24 Inzahabu zose zakoze ku bikorwa vyose vy’ahantu heranda zari zatanzwe nk’ishikanwa bazungagiza+. Zangana n’italanto* 29 na shekeli* 730 ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda*. 25 Ifeza zatanzwe n’abo mw’ishengero banditswe zangana n’italanto 100 na shekeli 1.775, ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda. 26 Umuntu wese yiyandikishije kuva ku myaka 20 kuduga, yazana inusu ya shekeli+, ufatiye kuri shekeli y’akarorero y’aheranda. Abiyandikishije bose bari 603.550+.
27 Hakoreshejwe italanto 100 z’ifeza mu gukora udutafari dutoboye tw’ahantu heranda n’udutafari dutoboye tw’irido. Italanto 100 zakoze udutafari 100, italanto imwe ku gatafari+. 28 Za shekeli 1.775 z’ifeza yazikozemwo udusumari twa za nkingi yongera azihomeka ku mitwe y’izo nkingi, hanyuma azifataniriza hamwe.
29 Ishikanwa* ry’umujumpu ryari italanto 70 na shekeli 2.400. 30 Ivyo yabikozemwo udutafari dutoboye two kw’irembo ry’ihema ry’ibonaniro, ca gicaniro c’umujumpu, akayungiro kaco k’umujumpu, ibikoresho vyaco vyose, 31 udutafari dutoboye tw’uruzitiro rw’ikigo, udutafari two kw’irembo ry’ikigo, imambo zose z’ihema ryeranda n’imambo zose+ z’uruzitiro rw’ikigo.
39 Hanyuma bakora impuzu zijishe neza zikoreshwa mu bikorwa vy’ahantu heranda. Bazikoze mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe* n’inyuzi zisa n’agahama+. Bakora za mpuzu nyeranda za Aroni+, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
2 Akora ya efodi+ mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama n’inyuzi z’ilino* nziza zitsivye. 3 Bahondagura inzahabu gushika zibaye nk’udupapuro, na we azikataguramwo utunyuzi two kuvanga na za nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’ilino nziza. Iyo efodi yari ijishwe muri izo nyuzi. 4 Bakora ibitambara vyayo vyo ku bitugu, ic’imbere n’ic’inyuma, bifataniye hejuru ku bitugu. 5 Umukaba wo kugumya iyo efodi, wari ufatanye na yo kandi wari ujishwe+ mu bintu nyene iyo efodi ikozwemwo. Wari ukozwe mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
6 Batereka twa tubuye twa onigisi mu tugata tw’inzahabu maze batwandikako amazina y’abahungu ba Isirayeli, nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo+. 7 Adushira kuri vya bitambara vyo ku bitugu vya efodi, kugira abahungu ba Isirayeli baze baribukwa+, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. 8 Hanyuma akora ka gapfuko ko ku gikiriza+, agakora ku buhinga nka kurya kwa efodi. Kari gakozwe mu nzahabu, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi zisa n’agahama be n’inyuzi z’ilino nziza zitsivye+. 9 Kazinzemwo kubiri kaca kamera nk’ikwadarato ifise uburebure n’ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza*. 10 Bagashirako imirongo ine y’utubuye tw’agaciro. Umurongo wa mbere wariko akabuye ka rubi, aka topazi n’aka emerode. 11 Uwa kabiri wariko akabuye ka tirikwaze, aka safiro n’aka yasipi. 12 Uwa gatatu wariko akabuye ka leshemu, aka agata n’aka ametisito. 13 Uwa kane na wo wariko akabuye ka kirizolito, aka onigisi n’aka yade. Utwo tubuye twari mu dukadre tw’inzahabu. 14 Twari twanditseko amazina 12 y’abahungu ba Isirayeli. Kamwekamwe kose kariko izina ry’umwe muri ya miryango 12, kandi ryari ryanditse nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo.
15 Hanyuma bakora mu nzahabu itavanze imigozi itsivye yo gushira kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+. 16 Bakora kandi utugata tubiri tw’inzahabu n’utugombo tubiri tw’inzahabu, maze bashira utwo tugombo ku mfuruka zibiri z’ako gapfuko. 17 Inyuma y’ivyo, bacisha iyo migozi ibiri y’inzahabu muri utwo tugombo tubiri turi ku mfuruka z’ako gapfuko. 18 Baraheza bacisha imitwe ibiri y’iyo migozi muri twa tugata tubiri turi ku bitambara vya efodi vyo ku bitugu, ku ruhande rwayo rw’imbere. 19 Bakora utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, badushira ku mfuruka zibiri zo hepfo za ka gapfuko ko ku gikiriza, indani aharabana na efodi+. 20 Bakora n’utundi tugombo tubiri tw’inzahabu, badushira ku ruhande rw’imbere rwa efodi munsi ya vya bitambara bibiri vyo ku bitugu, hafi y’aho efodi ifatanirijwe, hejuru ya wa mukaba wayo ujishe. 21 Amaherezo, bafatisha ka gapfuko ko ku gikiriza umugozi usa n’ubururu ufatanya utugombo twako n’utugombo twa efodi. Ivyo vyatuma ako gapfuko kaguma gafashe kuri efodi, hejuru ya wa mukaba ujishe nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
22 Hanyuma akora ya kanzu itagira amaboko yo kwambara munsi ya efodi, ayikora yose mu nyuzi zisa n’ubururu nka kurya kw’umuhinga ajisha impuzu+. 23 Iyo kanzu yari ifise izosi risatuye hagati na hagati, nka kurya kw’izosi ry’ikoti y’ivyuma. Iryo zosi ryari rikikujwe n’umubariro kugira ntiritabuke. 24 Mu nyuma, bashira ku mushono wo hasi w’iyo kanzu udusharizo tw’amakomamanga dukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama, vyose bitsibiye hamwe. 25 Baca bakora udusharizo tw’udukengeri mu nzahabu itavanze, badushira hagati ya twa dusharizo tw’udukomamanga, badukikuza umushono wo hasi w’iyo kanzu. 26 Baza barakurakuranya agakengeri n’agasharizo k’ikomamanga, babikikuza umushono wose wo hasi w’iyo kanzu bambara mu gikorwa c’ubuherezi, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
27 Bakorera kandi Aroni n’abahungu biwe amakanzu y’inyuzi z’ilino nziza, ajishwe+ n’umuhinga mu kujisha impuzu, 28 ca gitambara bazingira mu mutwe+, twa dukofero*+ na ya mabutura*+ bikozwe mu nyuzi z’ilino nziza 29 hamwe na ya mikanda ikozwe mu nyuzi z’ilino nziza zitsivye, inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe be n’inyuzi zisa n’agahama bijishiwe hamwe, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
30 Amaherezo, bakora mu nzahabu itavanze ka kuma gafyase gakayangana, ca kimenyetso ceranda*. Baraheza bakandikako nka kurya kw’ivyandiko vy’ikidodo ngo: «Ubweranda ni ubwa Yehova+.» 31 Baca bagashirako umugozi ukozwe mu nyuzi zisa n’ubururu kugira bakabohere kuri ca gitambara bazingira mu mutwe, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
32 Nuko Abisirayeli barangiza ibikorwa vyose vyo kuri rya hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. Bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa+. Bakora gutyo nyene.
33 Maze bazanira Musa ibintu vyose bigize iryo hema ryeranda+, ushizemwo ibitambara vyaryo+ n’ibikoresho vyaryo vyose, udufatanisho twaryo+, ibizingiti* vyaryo+, udukoni twaryo+, inkingi zaryo n’udutafari dutoboye twazo+; 34 igitambara caryo gikozwe mu nshato z’intama zisize ibara ritukura+, igitambara caryo gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, ya rido y’igikingirizo+; 35 ya sandugu y’isezerano*, ibibando* vyayo+ n’umufuniko wayo+; 36 ya meza, ibikoresho vyayo+ vyose n’imikate y’ishikanwa*; 37 ca kintu co guterekako amatara gikozwe mu nzahabu itavanze, amatara yaco+ atondetse ku murongo, ibikoresho vyaco+ vyose na ya mavuta yo kwatsa amatara+; 38 ca gicaniro+ c’inzahabu, ya mavuta meranda+, ya mibavu+ imota neza, ya rido*+ yo ku bwinjiriro bw’ihema; 39 ca gicaniro c’umujumpu+ n’akayungiro kaco k’umujumpu, ibibando vyaco+, ibikoresho vyaco vyose+, ca kibesani* n’ico bagiterekako+; 40 vya bitambara bigize ikigo, inkingi zaco, udutafari dutoboye twaco+, imigozi yaco n’imambo zaco+; ya rido*+ yo kw’irembo ry’ikigo n’ibikoresho vyose bikoreshwa kuri iryo hema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro; 41 za mpuzu zijishe neza zikoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema, za mpuzu nyeranda za Aroni umuherezi+ hamwe n’impuzu abahungu biwe bazokwambara kugira bakore igikorwa c’abaherezi.
42 Abisirayeli bakoze ibikorwa vyose nk’uko Yehova yari yabitegetse+ Musa. 43 Nuko Musa asuzuma ivyo bari bakoze vyose, asanga babikoze nk’uko Yehova yari yamutegetse. Aca arabahezagira.
40 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, uzokwubake iryo hema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro+. 3 Uzoshirayo ya sandugu y’isezerano*+, uce uyikingiriza ya rido+. 4 Uzokwinjiza na ya meza+, upange neza ibintu vyo kuri yo, uce winjiza kimwe baterekako amatara+ hanyuma watse amatara yaco+. 5 Uzoshira ca gicaniro c’imibavu+ gihometseko inzahabu imbere y’iyo sandugu y’isezerano, uheze umanike ya rido* yo ku bwinjiriro bw’ihema+.
6 Uzoshira igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ imbere y’iryo hema ryeranda, ari ryo hema ry’ibonaniro. 7 Uzoca ushira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro n’ico gicaniro, uheze ugisukemwo amazi+. 8 Hanyuma uzokwubaka uruzitiro+ rukikuje iryo hema ryeranda, uce umanika ya rido+ yo kw’irembo ry’ikigo. 9 Inyuma y’ivyo, uzotora ya mavuta meranda*+ uyasuke* kuri iryo hema n’ibiri muri ryo vyose+, uvyeze n’ibikoresho vyaryo vyose kugira ribe ryeranda. 10 Uzosuka amavuta ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa no ku bikoresho vyaco vyose, uceze kugira kibe ceranda cane+. 11 Uzoyasuka no kuri ca kibesani* be n’ico bagiterekako, uvyeze.
12 Uzoce uzana Aroni n’abahungu biwe ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, uboze n’amazi+. 13 Uze wambike Aroni za mpuzu nyeranda+, umurobanuze amavuta+ wongere umweze, maze ambere umuherezi. 14 Hanyuma uzozana ba bahungu biwe, ubambike ya makanzu+. 15 Uzobarobanuze amavuta nk’uko warobanuye se wabo+ kugira bambere abaherezi. Ivyo bizotuma ibanga ry’ubuherezi ribegukira, uko urunganwe* rwabo ruzogenda rurakurikirana+.»
16 Musa akora ivyo Yehova yari yamutegetse+ vyose. Abikora gutyo nyene.
17 Yarangije gushinga iryo hema ryeranda+ ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri. 18 Mu kwubaka iryo hema, Musa yashize hasi twa dutafari dutoboye+, aducomekamwo vya bizingiti*+, aca abifatanisha twa dukoni+, araheza ashinga inkingi zaryo. 19 Yaciye apfukisha iryo hema igitambara co munsi+, hanyuma arenzako vya bindi bitambara+ nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
20 Inyuma y’ivyo, atora ya mabwirizwa*+, ayashira muri ya sandugu+. Araheza acomeka vya bibando*+ kuri iyo sandugu, ashirako na wa mufuniko wayo+. 21 Maze yinjiza iyo sandugu y’isezerano mw’ihema ryeranda, araheza amanika ya rido*+ ikingira iyo sandugu*+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
22 Hanyuma yinjiza ya meza+ mw’ihema ry’ibonaniro, ayishira mu ruhande rwo mu buraruko, mu kibanza c’imbere y’iyo rido. 23 Araheza ayitondekako imikate igerekeranye+ imbere ya Yehova, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
24 Aca ashira ca kintu baterekako amatara+ mw’ihema ry’ibonaniro imbere y’iyo meza, ku ruhande rwo mu bumanuko bw’iryo hema. 25 Araheza yatsa amatara+ imbere ya Yehova nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
26 Nuko ashira ca gicaniro+ c’inzahabu mw’ihema ry’ibonaniro, imbere ya ya rido y’indani, 27 kugira agifumbishirizeko umwotsi w’imibavu+ imota neza+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
28 Hanyuma amanika ya rido+ yo ku bwinjiriro bw’ihema.
29 Ashira ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ ku bwinjiriro bw’ihema ryeranda, ari ryo rya hema ry’ibonaniro, kugira agitangireko amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa y’intete, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
30 Araheza ashira ca kibesani* hagati y’ihema ry’ibonaniro na ca gicaniro, agisukamwo amazi yo gukaraba+. 31 Musa na Aroni n’abahungu biwe baca barakaraba ayo mazi bongera baroga ibirenge. 32 Igihe cose binjiye mw’ihema ry’ibonaniro canke begereye igicaniro, barakaraba+ nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
33 Amaherezo, yubaka uruzitiro+ rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, aca amanika ya rido yo kw’irembo ry’ikigo+.
Nuko Musa arangiza ico gikorwa. 34 Igicu gica gitangura gupfuka iryo hema ry’ibonaniro, ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura iryo hema+. 35 Musa ntiyashobora kwinjira mw’ihema ry’ibonaniro kuko ico gicu caguma hejuru yaryo, n’ubuninahazwa bwa Yehova bukaba bwari bwuzuye iryo hema+.
36 Igihe cose ico gicu kiduze kikava kuri iryo hema ryeranda, Abisirayeli baca basambura amahema bakabandanya urugendo+. 37 Ariko iyo kitaduze, ntibabandanya urugendo gushika umusi kiduze+. 38 Mu rugendo rwabo rwose, Abisirayeli bose barabona ko igicu ca Yehova caguma hejuru y’ihema ryeranda ku murango, mw’ijoro na ho umuriro ukaguma hejuru yaryo+.
Canke «iyaruka.»
Canke «abakuru bakoresha ibikorwa vy’agahato.»
Canke «isandugu.»
Canke «mu nkorogoto.»
Canke «umugore yonsa.»
Iryo zina risobanura ngo «uwakuwe mu mazi.»
Canke «amaze kuba umuntu akomeye.»
Canke «ingomero.»
Canke «arabarwanira.»
Yitwa kandi Yetiro.
Iryo zina risobanura ngo «kuba ahantu uri kavamahanga.»
Canke «isandari.»
Canke «muzokorera.»
Canke «ico mpisemwo.»
Canke «nzocika ico nzocika.» Raba Inyongera ya A4.
Canke «iyaruka.»
Canke «mu mukunjo w’impuzu.»
Canke «kwera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «nzobana n’akanwa kawe.»
Canke «umubere Imana.»
Canke «kunkorera.»
Ashobora kuba ari umuhungu wa Musa.
Canke «imbugita ikozwe mw’ibuye ry’isare.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Bishobora kuba ari ibirenge vy’umumarayika.
Canke «yari yitwararitse.»
Canke «subira kwikorera imizigo!»
Canke «ibikumbi.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «narahiye ndugije ukuboko.»
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe ingabo zabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndakugize Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzoshira ukuboko kwanje kuri Misiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zanje.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «kumukorera.»
Ni ukuvuga imigende ikura amazi mu ruzi Nili.
Canke «kunkorera.»
Canke «baje kunkorera.»
Ni udukoko tumeze nk’insazi turyana.
Canke «kudukinisha.»
Canke «kunkorera.»
Canke «itanure.»
Canke «itanure.»
Canke «baje kunkorera.»
Ishobora kuba yari imiravyo ikomeye cane.
Mu giheburayo havuga ngo «rurimwo imiriro irabagiza.»
Canke «aragororotse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Mu giheburayo havuga ngo «ingano na kusemeti.» Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye bwarimwa kera mu Misiri.
Canke «kunkorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «azotubera umutego.»
Ashobora kuba ari Musa.
Canke «uzotwemerera gutwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikinono.»
Canke «mu gicugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusukukazi akoresha urusyo.»
Canke «ibitungwa vyose vy’uburiza.»
Canke «ku mugoroba.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Canke «bazitare.»
Ayo maguru ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.
Mu giheburayo havuga ngo «mukenyeye mu mafyinga.»
Canke «isandari.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «iyaruka.»
Kari agakandu gatoyi bakoresha nk’umwambiro.
Canke «azoca arandurwa muri Isirayeli.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari ho nzokura ingabo zanyu mu Misiri.»
Canke «ategerezwa kurandurwa mw’ishengero rya Isirayeli.»
Ni ukuvuga imyagazi y’intama canke y’impene.
Mu giheburayo havuga ngo «agatikizo.»
Canke «mu gicugu.»
Canke «ibibakure.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagabo bagenda n’amaguru.» Iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku bagabo b’inguvu bashoboye kurwana.
Ni ukuvuga abatari Abisirayeli, harimwo n’Abanyamisiri.
Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zose.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingabo zose.»
Canke «niweze.»
Canke «c’uburiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Raba Inyongera ya B15.
Kari agakandu gatoyi bakoresha nk’umwambiro.
Canke «nk’ikimenyetso ku maboko yanyu n’icibutso hagati y’amaso yanyu.»
Canke «igitungwa cose c’uburiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Canke «nk’ikimenyetso ku maboko yanyu n’agatambara mutubika mu ruhanga rwanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «badugije amaboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’iterama ryo mu gitondo.» Ni nko kuva samunani z’ijoro gushika sakumi na zibiri zo mu gitondo.
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko gukomeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «abashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.
Canke «abategetsi batwaza igikenye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ubateragire ku musozi w’intoranwa yawe.»
Iryo zina risobanura ngo «umururazi.»
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Omeri imwe yangana n’amalitiro nka 2,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «muzokwubahiriza isabato.»
Canke «batangura kuruhuka.»
Iryo zina rishobora kuba ryavuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «ibi ni ibiki?»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Iryo zina risobanura ngo «kugerageza», «ikigeragezo.»
Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
Mu giheburayo havuga ngo «Amaleki n’abantu biwe.»
Canke «kugira bize bibe icibutso.»
Canke «munsi y’ijuru.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni ikimenyetso canje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’Abamaleki.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «iyaruka.»
Iryo zina risobanura ngo «kuba ahantu uri kavamahanga.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni umufasha.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe cose.»
Canke «ikintu c’agaciro nigabira.»
Canke «weze.»
Gushobora kuba ari ukumutobekeranya n’umwampi.
Canke «kweza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntihagire uwegera umugore.»
Canke «mw’itanure.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «unzana mu maso.»
Canke «kubikorera.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «kw’iyaruka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ibimazi vy’amahoro.»
Canke «itindo.»
Canke «ibihimba vy’irondoka.»
Canke «uruhindu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mugabo akamureka ngo acungurwe.»
Canke «uwuvumye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibuye canke ikindi gikoresho.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku buryo abana biwe bavayo.»
Canke «ariko ntihagire uwukomereka cane.»
Canke «incungu.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibindi biterwa vyose vy’intete.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko atabikojejeko ukuboko.»
Canke «kigakomereka cane.»
Kumbure bivuye ku rwangara.
Canke «umuntu yigorewe.»
Canke «umunyabuntu.»
Canke «ntukavume.»
Ni amato baganiramwo amavuta n’ayo baganiramwo umuvinyu.
Canke «kugira gusa ushimishe benshi.»
Canke «ntashobora kumwambika izera.»
Canke «urazi ingene kavamahanga yiyumva.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Raba Inyongera ya B15.
Witwa kandi umusi mukuru w’amayinga canke Pentekoti.
Witwa kandi umusi mukuru w’insago (amahema).
Canke «kuzikorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokura indwara hagati yanyu.»
Canke «nzotuma abansi banyu bose bahindukiza umugongo bahunge.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bacika ivutu», «batekerwa n’ubwoba.»
Ni uruzi Efurate.
Canke «buzize ibara ry’umuyugubwe.» Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «zizize.»
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «mu mavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «ipura», «umugero.»
Uko yangana: nka santimetero 111 z’uburebure, 67 z’ubwaguke na 67 z’amahagarara. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Mu giheburayo havuga ngo «icabona.» Raba Insiguro y’amajambo (Icabona).
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu y’icabona.»
Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «amabirika.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «intebetebe.»
Canke «iminengo.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ipura», «umugero.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «amakadrema.»
Canke «utubaho tugororotse.»
Canke «afatanijwe.»
Canke «ku kigombo.»
Canke «ibigombo.»
Canke «ipura.»
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ikindi gikingirizo.»
Canke «ico gikingirizo.»
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «imikono», «ibigombo.»
Canke «imikono», «ibigombo.»
Canke «igikingirizo.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Urumambo ni igiti canke icuma gisongoye bashinga mu kuzimu kugira bafatisheko ikintu kanaka.
Canke «imyelayo isekuye.» Bayita kandi amavuta ya olive.
Mu giheburayo havuga ngo «iri hafi y’icabona.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ubukerebutsi.»
Canke «yejejwe.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «udusarureko.»
Yangana na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.
Raba Insiguro y’amajambo.
Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «uduhuzu two munsi.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «ushire kuri co rwa rugori rweranda.»
Canke «ya mavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
Canke «agashami k’igitigu.»
Ayo maguru ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura.»
Canke «agashami k’igitigu.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Mu giheburayo havuga ngo «bibe akamoto karuhura kuri.»
Canke «ikidari», «inkoro.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ishikanwa ry’intete.»
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
Canke «iyaruka.»
Ni nka santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «imbiga.»
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu y’icabona.»
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Canke «iyaruka.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Gera imwe yangana n’amagarama 0,57. Raba Inyongera ya B14.
Canke «batangire impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «igikono.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «umudarasini.»
Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «akwiye kuba akozwe n’umuhinga mu gukora amavuta manovu.»
Canke «uzoyarobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ca gikono.»
Canke «amavuta yanje yo kurobanuza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku w’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Canke «kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «nahamagaye mw’izina.»
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ca gikono.»
Canke «ya mavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuzoyihumanya.»
Canke «abwirizwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibisate bibiri vy’icabona.»
Canke «igishusho gikozwe mu cuma bashongesheje.»
Canke «umutwero.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko bafise izosi ridadaraye.»
Canke «wicuze.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «vya bisate bibiri vy’icabona.»
Canke «yasaruwe.»
Canke «bigina igikorwa c’ububasha.»
Canke «mukama wanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuko mufise izosi ridadaraye.»
Canke «baca batangura kugandara.»
Canke «naragutoye.» Mu giheburayo havuga ngo «ndazi izina ryawe.»
Canke «nkaba naragutoye.» Mu giheburayo havuga ngo «naramenye izina ryawe.»
Canke «ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ukudahemuka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «abantu b’izosi ridadaraye.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «itihanganira abakeba.»
Mu giheburayo havuga ngo «Yehova izina ryiwe ni Munyeshari. Ni Imana y’ishari.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Raba Inyongera ya B15.
Canke «muzokwubahiriza isabato.»
Witwa kandi umusi mukuru w’insago (amahema).
Mu giheburayo havuga ngo «ya majambo cumi.»
Mu giheburayo havuga ngo «vya bisate bibiri vy’icabona.»
Canke «w’umutima ukunze.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «amakadrema.»
Canke «iminiho.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ca gikingirizo.»
Canke «ca gikono.»
Canke «ca gikingirizo.»
Canke «b’umutima ukunze.»
Canke «amashikanwa azungagizwa.»
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «izo bahinze.»
Canke «amavuta yo gusomora.»
Canke «umutima wabo usunitse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Biboneka ko ari Bezaleli.
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «amakadrema.»
Canke «utubaho tugororotse.»
Canke «afatanijwe.»
Canke «ku kigombo.»
Canke «ikindi gikingirizo.»
Canke «imikono», «ibigombo.»
Uko yangana: nka santimetero 111 z’uburebure, 67 z’ubwaguke na 67 z’amahagarara. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amabirika.»
Canke «iminengo.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «imbiga.»
Canke «vyari bimeze nk’ivyakozwe n’umuhinga mu gukora amavuta manovu.»
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ibigombo.»
Canke «iminiho.»
Canke «ca gikono.»
Ni ukuvuga ivyirore bikozwe mu butare busenye neza.
Canke «bakora igikorwa gitunganijwe neza.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «imikono», «ibigombo.»
Canke «igikingirizo.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Canke «ishikanwa bazungagiza.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Yangana na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.
Dushobora kuba twari udutambara bazingira mu mutwe tukamera nk’udukofero.
Canke «uduhuzu two munsi.»
Canke «ca kimenyetso ceranda cerekana ko Aroni yeguriwe Imana», «urugori rweranda.»
Canke «amakadrema.»
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «iminiho.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ca gikingirizo.»
Canke «ca gikono.»
Canke «ca gikingirizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Canke «ca gikingirizo.»
Canke «ca gikono.»
Canke «ya mavuta yo kurobanuza.»
Canke «uyarobanuze.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «ca gikono.»
Canke «iyaruka.»
Canke «amakadrema.»
Mu giheburayo havuga ngo «atora ca cabona.»
Canke «iminiho.»
Canke «ca gikingirizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikingira ico cabona.»
Canke «ca gikono.»