GUHARURA
1 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye mu Misiri+, Yehova avugana na Musa mu bugaragwa bwa Sinayi+ ari mw’ihema ry’ibonaniro+, amubwira ati: 2 «Nugire rusansuma+ rw’ishengero ryose ry’Abisirayeli*, uharure umwe wese wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango* yabo hamwe n’igitigiri c’amazina y’abagabo bose. 3 Mwe na Aroni muzokwandika abagabo bose bafise imyaka 20 kuduga+ kandi bashobora kuja mu gisoda ca Isirayeli, mwisunze imigwi y’ingabo zabo.
4 Muzoba muri kumwe n’umugabo avuye mu muryango umwumwe wose. Akwiye kuba ari umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango yabo+. 5 Aya ni yo mazina y’abagabo bazobafasha: mu muryango wa Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri. 6 Mu muryango wa Simeyoni ni Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi. 7 Mu muryango wa Yuda ni Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu. 8 Mu muryango wa Isakari ni Netaneli+ umuhungu wa Zuwari. 9 Mu muryango wa Zabuloni ni Eliyabu+ umuhungu wa Heloni. 10 Mu bahungu ba Yozefu: mu muryango wa Efurayimu+ ni Elishama umuhungu wa Amihudi, mu muryango wa Manase na ho ni Gamaliyeli umuhungu wa Pedazuri. 11 Mu muryango wa Benyamini ni Abidani+ umuhungu wa Gideyoni. 12 Mu muryango wa Dani ni Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi. 13 Mu muryango wa Asheri ni Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani. 14 Mu muryango wa Gadi ni Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli. 15 Mu muryango wa Nafutali na ho ni Ahira+ umuhungu wa Enani. 16 Abo ni bo bagabo bo mw’ishengero bahamagawe. Bari abakuru+ b’imiryango ya ba sekuru, abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli+.»
17 Musa na Aroni baca batora abo bagabo bari bavuzwe amazina. 18 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira kabiri, bakoranya ishengero ryose kugira bandike umwe wese hisunzwe umuryango wiwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yabo, kuva ku myaka 20 kuduga+, 19 nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. Abandikira mu bugaragwa bwa Sinayi+.
20 Abakomoka kuri Rubeni imfura ya Isirayeli+, banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaharurwa ukwiwe. 21 Abaharuwe bose mu muryango wa Rubeni bari 46.500.
22 Abakomoka kuri Simeyoni+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaharurwa ukwiwe. 23 Abaharuwe bose mu muryango wa Simeyoni bari 59.300.
24 Abakomoka kuri Gadi+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 25 Abaharuwe bose mu muryango wa Gadi bari 45.650.
26 Abakomoka kuri Yuda+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 27 Abaharuwe bose mu muryango wa Yuda bari 74.600.
28 Abakomoka kuri Isakari+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 29 Abaharuwe bose mu muryango wa Isakari bari 54.400.
30 Abakomoka kuri Zabuloni+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 31 Abaharuwe bose mu muryango wa Zabuloni bari 57.400.
32 Abakomoka kuri Yozefu biciye kuri Efurayimu+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 33 Abaharuwe bose mu muryango wa Efurayimu bari 40.500.
34 Abakomoka kuri Manase+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 35 Abaharuwe bose mu muryango wa Manase bari 32.200.
36 Abakomoka kuri Benyamini+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 37 Abaharuwe bose mu muryango wa Benyamini bari 35.400.
38 Abakomoka kuri Dani+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 39 Abaharuwe bose mu muryango wa Dani bari 62.700.
40 Abakomoka kuri Asheri+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 41 Abaharuwe bose mu muryango wa Asheri bari 41.500.
42 Abakomoka kuri Nafutali+ banditswe hisunzwe amazina yabo, imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Umugabo wese afise imyaka 20 kuduga kandi ashobora kuja mu gisoda yaraharurwa. 43 Abaharuwe bose mu muryango wa Nafutali bari 53.400.
44 Abo ni bo banditswe na Musa na Aroni bari kumwe n’abakuru 12 b’Abisirayeli, umwe wese aserukiye umugwi ugizwe n’imiryango yabo. 45 Abisirayeli bose bafise imyaka 20 kuduga kandi bashobora kuja mu gisoda ca Isirayeli, banditswe hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 46 Abanditswe bose hamwe bari 603.550+.
47 Ariko Abalewi+ ntibanditswe muri bo, hisunzwe imiryango ya ba sekuru babo+. 48 Maze Yehova abwira Musa ati: 49 «Umuryango wa Lewi ni wo wonyene utazokwandika. Igitigiri cabo ntuze ugishire hamwe n’ic’abandi Bisirayeli+. 50 Abalewi uze ubashinge kwitwararika ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*+, ibikoresho vy’iryo hema vyose n’ibintu vyaryo vyose+. Bazoterura iryo hema ryeranda n’ibikoresho vyaryo vyose+. Bazokorera kuri ryo+ kandi bazokambika hirya no hino yaryo+. 51 Igihe bizoba bikenewe ko ihema ryeranda ryimuka, Abalewi ni bo bazorisambura+. Kandi igihe bizoba bikenewe ko basubira kuryubaka, Abalewi ni bo bazoriteranya. Umuntu wese azoryegera atabifitiye uburenganzira* azoca yicwa+.
52 Umwisirayeli wese akwiye gushinga ihema mu kibanza yahawe, yisunze umugwi* arimwo w’imiryango itatu+. 53 Abalewi bazokambika hirya no hino y’ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano*, kugira sinshavurire ishengero ry’Abisirayeli+. Abalewi ni bo bajejwe kwitwararika* ihema ryeranda ririmwo isandugu y’isezerano+.»
54 Abisirayeli bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa. Babikora gutyo nyene.
2 Nuko Yehova abwira Musa na Aroni ati: 2 «Abisirayeli bakwiye gukambika mu kibanza umugwi wabo ugizwe n’imiryango itatitatu+ wahawe, umwe wese iruhande y’ikimenyetso* c’umugwi ugizwe n’imiryango yabo. Bakwiye gukambika baraba ihema ry’ibonaniro, hirya no hino yaryo.
3 Abazokambika mu buseruko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Yuda, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Yuda ni Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu. 4 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 74.600+. 5 Iruhande yiwe hazokambika umuryango wa Isakari. Umukuru w’abakomoka kuri Isakari ni Netaneli+ umuhungu wa Zuwari. 6 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 54.400+. 7 Hazoca hakurikira umuryango wa Zabuloni. Umukuru w’abakomoka kuri Zabuloni ni Eliyabu+ umuhungu wa Heloni. 8 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 57.400+.
9 Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Yuda bari 186.400. Ni bo bazohaguruka ubwa mbere+.
10 Abazokambika mu bumanuko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Rubeni+, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri. 11 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 46.500+. 12 Iruhande yiwe hazoca hakambika umuryango wa Simeyoni. Umukuru w’abakomoka kuri Simeyoni ni Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi. 13 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 59.300+. 14 Hazoca hakurikira umuryango wa Gadi. Umukuru w’abakomoka kuri Gadi ni Eliyasafu+ umuhungu wa Ruweli*. 15 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 45.650+.
16 Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Rubeni bari 151.450. Ni bo bazohaguruka ubwa kabiri+.
17 Hageze ko ihema ry’ibonaniro ryimuka+, ikambi y’Abalewi ikwiye kugendera hagati y’ayandi makambi.
Uko bakurikirana mu gukambika ni ko bazokurikirana mu kugenda+, umwe wese mu kibanza ciwe, hisunzwe umugwi w’imiryango itatu arimwo.
18 Abazokambika mu burengero, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Efurayimu, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Efurayimu ni Elishama+ umuhungu wa Amihudi. 19 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 40.500+. 20 Hazoca hakurikira umuryango wa Manase+. Umukuru w’abakomoka kuri Manase ni Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri. 21 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 32.200+. 22 Hazoca hakurikira umuryango wa Benyamini. Umukuru w’abakomoka kuri Benyamini ni Abidani+ umuhungu wa Gideyoni. 23 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 35.400+.
24 Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Efurayimu bari 108.100. Ni bo bazohaguruka ubwa gatatu+.
25 Abazokambika mu buraruko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Dani, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Dani ni Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi. 26 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 62.700+. 27 Hazoca hakurikira umuryango wa Asheri. Umukuru w’abakomoka kuri Asheri ni Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani. 28 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 41.500+. 29 Hazoca hakurikira umuryango wa Nafutali. Umukuru w’abakomoka kuri Nafutali ni Ahira+ umuhungu wa Enani. 30 Abanditswe mu ngabo ziwe bari 53.400+.
31 Abanditswe bose mu ngabo zari ziyobowe n’umuryango wa Dani bari 157.600. Ni bo bazohaguruka ubwa nyuma+, hisunzwe umugwi w’imiryango itatu barimwo.»
32 Abo ni bo Bisirayeli banditswe hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Abo mw’ikambi banditswe kugira baje mu gisoda bose hamwe bari 603.550+. 33 Ariko nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa, Abalewi ntibanditswe+ hamwe n’abandi Bisirayeli+. 34 Abisirayeli bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa. Ukwo ni ko bashinga ikambi bisunze umugwi w’imiryango itatu barimwo+, kandi ni ko basambura ikambi+, umwe wese yisunze umuryango wiwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yabo.
3 Iyi ni yo yari imiryango* ya Aroni na Musa igihe Yehova yavugana na Musa ku musozi Sinayi+. 2 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Aroni: imfura yari Nadabu, hagakurikira Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+. 3 Ayo ni yo mazina y’abahungu ba Aroni, abaherezi barobanujwe amavuta* kandi bimitswe mw’ibanga ry’ubuherezi+. 4 Ariko Nadabu na Abihu bapfiriye imbere ya Yehova igihe bashikana umuriro utemewe imbere ya Yehova+ mu bugaragwa bwa Sinayi. Nta bana bari bafise. Eleyazari+ na Itamari+ bagumye ari abaherezi bari kumwe na Aroni se wabo.
5 Maze Yehova abwira Musa ati: 6 «Zana Abalewi+, ubashikirize Aroni umuherezi kugira bamufashe+. 7 Bazofasha Aroni n’ishengero ryose mu gukora ibikorwa bajejwe bijanye n’ihema ryeranda, babikorere imbere y’ihema ry’ibonaniro. 8 Bazokwitwararika ibikoresho vyose+ vy’ihema ry’ibonaniro bongere bafashe Abisirayeli mu gukora ibikorwa bajejwe bijanye n’ihema ryeranda+. 9 Abalewi uze ubashikirize Aroni n’abahungu biwe. Ni ingabire Aroni yahawe ivuye mu Bisirayeli+. 10 Aroni n’abahungu biwe uze ubashinge ibikorwa vy’ubuherezi+. Umuntu wese azokwegera ahantu heranda atabifitiye uburenganzira* azoca yicwa+.»
11 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 12 «Ntoye Abalewi mu Bisirayeli mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli+. Abalewi bazoba abanje. 13 Imfura zose ni izanje+. Umusi nica imfura zose mu gihugu ca Misiri+, narishiriye ku ruhande* ivyavutse ubwa mbere vyose muri Isirayeli, haba mu bantu canke mu bitungwa+. Bizoba ivyanje. Ndi Yehova.»
14 Yehova yongera kubwira Musa mu bugaragwa bwa Sinayi+ ati: 15 «Niwandike Abalewi wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Uzokwandika umuhungu wese afise ukwezi kumwe kuduga+.» 16 Musa aca arabandika nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 17 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi: Gerushoni, Kohati na Merari+.
18 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Gerushoni hisunzwe imiryango yabo: Libuni na Shimeyi+.
19 Abahungu ba Kohati hisunzwe imiryango yabo bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+.
20 Abahungu ba Merari hisunzwe imiryango yabo bari Mahili+ na Mushi+.
Iyo ni yo yari imiryango y’Abalewi hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo.
21 Abakomotse kuri Gerushoni ni umuryango w’Abalibuni+ n’uw’Abashimeyi. Iyo ni yo yari imiryango y’Abagerushoni. 22 Abahungu bose banditswe bafise ukwezi kumwe kuduga bari 7.500+. 23 Imiryango y’Abagerushoni yakambika inyuma y’ihema ryeranda+, amaja mu burengero. 24 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abagerushoni yari Eliyasafu umuhungu wa Layeli. 25 Ibikorwa Abagerushoni+ bari bajejwe kw’ihema ry’ibonaniro kwari ukwitwararika ihema ryeranda+, ibitambara vyo kuripfuka+, irido*+ yo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, 26 ibitambara+ vyo ku ruzitiro, irido*+ yo kw’irembo ry’uruzitiro rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, imigozi y’ihema n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho.
27 Abakomotse kuri Kohati ni umuryango w’Abamuramu, uw’Abizihari, uw’Abaheburoni n’uw’Abuziyeli. Iyo ni yo yari imiryango y’Abakohati+. 28 Abahungu bose bafise ukwezi kumwe kuduga bari 8.600. Bari bajejwe kwitwararika ahantu heranda+. 29 Imiryango y’Abakohati yakambika mu bumanuko bw’ihema ryeranda+. 30 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abakohati yari Elizafani umuhungu wa Uziyeli+. 31 Bari bajejwe kwitwararika isandugu+, imeza+, ico baterekako amatara+, ibicaniro+, ibikoresho+ bakoresha ahantu heranda, irido*+ n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho+.
32 Eleyazari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we yatwara abakuru b’Abalewi. Ni we yahagarikira abajejwe ibikorwa vy’ahantu heranda.
33 Abakomotse kuri Merari ni umuryango w’Abamahili n’uw’Abamushi. Iyo ni yo yari imiryango y’Abamerari+. 34 Abahungu bose banditswe bafise ukwezi kumwe kuduga bari 6.200+. 35 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abamerari yari Zuriyeli umuhungu wa Abihayili. Bakambika mu buraruko bw’ihema ryeranda+. 36 Abamerari bari bajejwe kwitwararika ibizingiti*+ vy’ihema ryeranda, udukoni twavyo+, inkingi zavyo+, udutafari dutoboye twavyo, ibikoresho vyavyo vyose+ n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho+. 37 Bari bajejwe kandi kwitwararika inkingi zari zikikuje ikigo n’udutafari dutoboye twazo+, imambo* zazo n’imigozi yazo.
38 Musa na Aroni hamwe n’abahungu biwe ni bo bakambika mu buseruko bw’ihema ryeranda, imbere y’ihema ry’ibonaniro. Bari bajejwe kwitwararika ahantu heranda mu kibanza c’Abisirayeli. Umuntu wese yegereye aho hantu atabifitiye uburenganzira* yabwirizwa kwicwa+.
39 Abalewi bose b’abahungu bafise ukwezi kumwe kuduga bari 22.000. Musa na Aroni babanditse bisunze imiryango yabo nk’uko Yehova yari yabategetse.
40 Maze Yehova abarira Musa ati: «Andika abahungu bose b’imfura b’Abisirayeli bafise ukwezi kumwe kuduga+, ubaharure wongere ugire urutonde rw’amazina yabo. 41 Nunshirire ku ruhande Abalewi mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli+, n’ibitungwa vyose vy’Abalewi mu kibanza c’ibitungwa vyose vy’Abisirayeli vyavutse ubwa mbere*+. Ndi Yehova.» 42 Musa aca yandika imfura zose z’Abisirayeli nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 43 Abahungu bose b’imfura yanditse bafise ukwezi kumwe kuduga bari 22.273.
44 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 45 «Shira ku ruhande Abalewi mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli, n’ibitungwa vy’Abalewi mu kibanza c’ibitungwa vy’Abisirayeli. Abalewi bazoba abanje. Ndi Yehova. 46 Kugira ucungure+ Abisirayeli b’imfura 273 barenga ku Balewi+, 47 uzotora shekeli* zitanu kuri umwumwe wese+, wisunze shekeli y’akarorero y’aheranda*. Shekeli imwe ingana na gera* 20+. 48 Ayo mahera uzoca uyaha Aroni n’abahungu biwe, nk’ikiguzi c’abo barengako.» 49 Musa araheza atora ayo mahera yo gucungura abarenga ku gitigiri c’Abalewi. 50 Atora ayo mahera yo gucungura imfura z’Abisirayeli, ni ukuvuga shekeli 1.365 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda. 51 Musa aca aha ayo mahera Aroni n’abahungu biwe nk’uko Yehova yari yabivuze. Akora nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
4 Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: 2 «Nimugire rusansuma rw’Abakohati+ mu bandi Balewi mwisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo, 3 muharure abafise imyaka 30+ gushika kuri 50+ bose bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro+.
4 Ng’iki igikorwa Abakohati bazokora kw’ihema ry’ibonaniro+. Ni ikintu ceranda cane: 5 igihe ikambi igira yimuke, Aroni n’abahungu biwe bazokwinjira bamanure irido+ y’ahantu heranda hanyuma bayipfukishe isandugu+ y’isezerano*. 6 Bazoca barenzako igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi* n’igitambara c’ubururu, baheze bayicomekeko ibibando* vyo kuyiterura+.
7 Bazosasa kandi igitambara gisa n’ubururu ku meza ijako imikate y’ishikanwa*+, bace bayishirako amasahani, ibikombe, amabakure hamwe n’amajage* y’ishikanwa ry’ikinyobwa+. Ishikanwa ry’imikate+ ryamaho rikwiye kuguma kuri iyo meza. 8 Bazoca basanza hejuru yavyo igitambara gisa n’agahama, barenzeko igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi hanyuma bayicomekeko ibibando vyo kuyirerura+. 9 Hanyuma bazotora igitambara gisa n’ubururu, bagipfukishe ca kintu baterekako amatara+, amatara yaco+, udupensi* twaco, udupanu twaco tujamwo umuriro+ n’udukoresho twaco twose tujamwo amavuta y’amatara. 10 Ico kintu baterekako amatara hamwe n’ibikoresho vyaco vyose bazoca babizingira mu gitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi, bace babitereka ku kintu* babiteruza. 11 Bazoca bapfuka igicaniro c’inzahabu+ n’igitambara gisa n’ubururu, barenzeko igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi hanyuma bagicomekeko ibibando vyo kugiterura+. 12 Hanyuma bazotora ibikoresho vyose+ bama bakoresha mu bikorwa vy’ahantu heranda, babishire mu gitambara gisa n’ubururu hanyuma babipfukishe igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi, bace babitereka ku kintu co kubiterura.
13 Bazokura iminyota* mu gicaniro+, bace bagipfukisha igitambara gikozwe mu bwoya busa n’umuyugubwe*. 14 Bazogiterekako ibikoresho vyaco vyose: udupanu tujamwo umuriro, amakanya, ibipawa n’amabakure, emwe ibikoresho vyose vyo ku gicaniro+. Bazoca bagipfukisha igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi, baheze bagicomekeko ibibando vyo kugiterura+.
15 Igihe ikambi igira yimuke, Aroni n’abahungu biwe bategerezwa kubanza gupfuka ahantu heranda+ n’ibikoresho vyaho vyose. Abakohati bazoca binjira kugira babiterure+, ariko ntibakwiye gukora ku bintu vy’ahantu heranda, kuko boca bapfa+. Ivyo ni vyo bikorwa* Abakohati bari bajejwe ku bijanye n’ihema ry’ibonaniro.
16 Eleyazari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we ajejwe kwitwararika amavuta yo kwatsa amatara+, imibavu imota neza+, ishikanwa ry’intete ryamaho hamwe n’amavuta meranda*+. Ni we kandi ajejwe kwitwararika ihema ryeranda ryose n’ibiri muri ryo vyose, harimwo n’ahantu heranda n’ibikoresho vyaho.»
17 Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati: 18 «Muze mufashe Abakohati+ kugira ntibapfe ngo bazimangane mu muryango w’Abalewi. 19 Muze mubafashe kugira ntibapfe kubera begereye ibintu vyeranda rwose+. Aroni n’abahungu biwe baze binjire, bashinge umwe wese igikorwa ciwe n’ivyo abwirizwa guterura. 20 Abakohati ntibaze binjire ngo babone ibintu vyeranda n’akanya gatoyi, kuko boca bapfa+.»
21 Maze Yehova abwira Musa ati: 22 «Nugire rusansuma rw’Abagerushoni+ wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 23 Uzokwandika abagabo bose bafise imyaka 30 gushika kuri 50 bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro. 24 Ibi ni vyo Abagerushoni bajejwe gukora no guterura+: 25 bazoterura ibitambara vy’ihema ryeranda+, ihema ry’ibonaniro*, igitambara co kuripfuka be n’igitambara gikozwe mu nshato z’ibikoko vyitwa tahashi kiri hejuru yaryo+, irido* yo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+, 26 ibitambara vy’uruzitiro+, irido* yo kw’irembo ry’uruzitiro+ rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, imigozi yavyo n’ibikoresho vyavyo vyose, hamwe n’ibintu vyose bikoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema ryeranda. Ico ni co gikorwa cabo. 27 Aroni n’abahungu biwe ni bo bazohagarikira ibikorwa vyose vy’Abagerushoni+ n’ivyo bazoterura. Muzobashinga kwitwararika ivyo bategerezwa guterura vyose. 28 Ico ni co gikorwa Abagerushoni bazokora kw’ihema ry’ibonaniro+. Itamari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we azohagarikira ibikorwa vyabo.
29 Abamerari+ na bo nyene uzobandika wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 30 Uzokwandika abafise imyaka 30 gushika kuri 50, abagabo bose bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro. 31 Ng’ibi ivyo bajejwe guterura+ mu bijanye n’igikorwa co kw’ihema ry’ibonaniro: ibizingiti*+ vy’ihema ryeranda, udukoni twaryo+, inkingi zaryo+ n’udutafari dutoboye twaryo+, 32 inkingi+ zikikuje ikigo, udutafari dutoboye twazo+, imambo zazo+, imigozi yazo n’ibikoresho vyazo vyose, hamwe n’ibindi bintu vyose bifitaniye isano n’igikorwa cabo. Umwe wese muzomushinga ibikoresho ajejwe guterura, muvuge n’amazina yavyo. 33 Ico ni co gikorwa Abamerari+ bazokora kw’ihema ry’ibonaniro, bahagarikiwe na Itamari umuhungu wa Aroni umuherezi+.»
34 Nuko Musa na Aroni n’abakuru+ bo mw’ishengero ry’Abisirayeli bandika Abakohati+ bisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo, 35 bandika abagabo bose bafise imyaka 30 gushika kuri 50 bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro+. 36 Abanditswe bose hisunzwe imiryango yabo bari 2.750+. 37 Abo ni bo banditswe mu Bakohati, ni ukuvuga abakorera kw’ihema ry’ibonaniro bose. Musa na Aroni babanditse nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa+.
38 Abagerushoni+ banditswe hisunzwe imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 39 Handitswe abagabo bose bafise imyaka 30 gushika kuri 50 bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro. 40 Abanditswe bose hisunzwe imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo bari 2.630+. 41 Abo ni bo banditswe mu Bagerushoni, ni ukuvuga abakorera kw’ihema ry’ibonaniro bose. Musa na Aroni babanditse nk’uko Yehova yari yabibategetse+.
42 Abamerari banditswe hisunzwe imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 43 Handitswe abagabo bose bafise imyaka 30 gushika kuri 50 bari mu mugwi w’abakorera kw’ihema ry’ibonaniro+. 44 Abanditswe bose hisunzwe imiryango yabo bari 3.200+. 45 Abo ni bo banditswe mu Bamerari. Musa na Aroni babanditse nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa+.
46 Nuko Musa na Aroni n’abakuru b’Abisirayeli bandika abo Balewi bose bisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 47 Bari bafise imyaka 30 gushika kuri 50, kandi bose bari bajejwe gukorera kw’ihema ry’ibonaniro no guterura ibikoresho vyaryo+. 48 Abanditswe bose hamwe bari 8.580+. 49 Banditswe hisunzwe itegeko Yehova yari yatanze biciye kuri Musa, umwe wese hisunzwe igikorwa ciwe n’ivyo yari ajejwe guterura. Banditswe nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa.
5 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Tegeka Abisirayeli basohore hanze y’ikambi umuntu wese arwaye imibembe+, uwurwaye ibintu biva mu gihimba c’irondoka+ n’uwahumanijwe n’ikiziga+. 3 Yaba ari umugabo canke umugore, mutegerezwa kumusohora. Mutegerezwa kumusohora kugira ntiyanduze+ ikambi y’abantu banje, kuko mba hagati muri bo+.» 4 Abisirayeli baca babigenza gutyo nyene, babasohora hanze y’ikambi. Bakora nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
5 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 6 «Nubwire Abisirayeli uti: “Umugabo canke umugore niyahemukira Yehova mu gucumura kuri mugenziwe, azoba yagiriwe n’icaha+. 7 Abwirizwa* kwatura+ igicumuro yakoze, hanyuma arihe amahera y’inshumbusho akwiranye n’igicumuro yakoze, yongereko ica gatanu cayo+. Azoyaha uwo muntu yacumuyeko. 8 Ariko nimba uwo muntu yacumuyeko atakiriho kandi akaba ata ncuti ya hafi afise yokwakira iyo nshumbusho, izoca ihabwa Yehova maze yegukire umuherezi. Mugabo impfizi y’intama izokoreshwa mu kumutangira impongano+ ntizokwegukira umuherezi.
9 Intererano nyeranda zose+ Abisirayeli bazoha umuherezi zikwiye kuba rwiwe+. 10 Ibintu vyeranda umuntu wese ahaye umuherezi bizoca vyegukira umuherezi.”»
11 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 12 «Bwira Abisirayeli uti: “Umugore niyacumura* agahemukira umugabo wiwe, 13 akaryamana n’uwundi mugabo+ ariko umugabo wiwe ntabimenye bikaguma ari ibanga, akihumanya ariko ntihagire uwumwagiriza kandi akaba ata wamufashe, uku ni ko bizogenda: 14 Umugabo wiwe niyagira ishari agatangura kumwikeka, yaba yarihumanije canke atihumanije, 15 azoca azana umugore wiwe ku muherezi yitwaje ishikanwa amutangira ringana n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu ya sayiri. Ntaze arisukeko amavuta canke ngo arishireko imibavu*, kuko ari ishikanwa ry’intete ry’ishari, ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha.
16 Umuherezi azomuzana, amuhagarike imbere ya Yehova+. 17 Azoshira amazi meranda mu gikoresho c’ibumba, hanyuma ayashiremwo ivu rikeyi ayoye hasi mw’ihema ryeranda. 18 Azoca ahagarika uwo mugore imbere ya Yehova, asambure imishatsi yiwe hanyuma amushire mu ntoke ishikanwa ry’intete ryibutsa icaha, ari ryo shikanwa ry’intete ry’ishari+. Uwo muherezi azoba afise mu minwe amazi arura atera umuvumo+.
19 Umuherezi azoca amurahiza, amubwire ati: ‘Nimba ata wundi mugabo mwaryamanye ukiganzwa n’umugabo wawe+, kandi ukaba utacumuye ngo wihumanye, ingaruka z’aya mazi arura atera umuvumo ntizigufate. 20 Ariko nimba waracumuye ukihumanya kandi ukiganzwa n’umugabo wawe, ukaryamana n’uwundi mugabo+ . . .’ 21 Umuherezi azoca amurahiza indahiro irimwo umuvumo, amubwire ati: ‘Yehova natume itako* ryawe rinyunyuka* yongere atume inda yawe ivyimba. Yehova kandi natume abantu bakoresha izina ryawe mu mivumo no mu ndahiro. 22 Aya mazi atera umuvumo azokwinjira mu mara yawe kugira atume inda yawe ivyimba n’itako ryawe rinyunyuka.’ Uwo mugore azoce yishura ati: ‘Amen! Amen*!’
23 Umuherezi azoca yandika iyo mivumo mu gitabu, hanyuma ayihanagurire muri ya mazi arura. 24 Azoca anywesha uwo mugore ayo mazi arura atera umuvumo, hanyuma amwinjiremwo amutere ububabare. 25 Azoca akura mu minwe y’uwo mugore rya shikanwa ry’intete ry’ishari+, arizungagize* imbere ya Yehova, aheze arizane hafi y’igicaniro. 26 Uwo muherezi azoheza ayore urushi kuri iryo shikanwa ry’intete, ariturire rifumbe umwotsi ku gicaniro+, bibe ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose. Azoca anywesha ayo mazi uwo mugore. 27 Nimba yarihumanije agahemukira umugabo wiwe, ayo mazi atera umuvumo azoca amwinjiramwo amutere ububabare. Inda yiwe izoca ivyimba, itako ryiwe na ryo rinyunyuke. Abantu bazoca batangura gukoresha izina ryiwe mu mivumo. 28 Ariko nimba atihumanije akaba atanduye, nta gihano azohabwa. Azoshobora gusama inda, yibaruke ibibondo.
29 Iryo ni ryo tegeko ku bijanye n’ishari+, igihe umugore acumuye akihumanya kandi akiganzwa n’umugabo wiwe, 30 canke igihe umugabo yagize ishari, akikeka ko umugore wiwe yamuhemukiye. Akwiye kuzana umugore wiwe imbere ya Yehova, hanyuma umuherezi amugirire ibintu vyose biri muri iri tegeko. 31 Umugabo ntazokwagirwa n’icaha, ariko umugore wiwe azohanirwa ikosa ryiwe.”»
6 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Umugabo canke umugore niyagirira Yehova indagano idasanzwe yo kuba Umunaziri*+, 3 ntakwiye kunywa umuvinyu canke izindi nzoga. Ntakwiye kunywa inkarihe y’umuvinyu canke inkarihe y’izindi nzoga+. Ntakwiye kunywa ikinyobwa na kimwe c’inzabibu canke ngo arye inzabibu, zaba ari mbisi canke zumye. 4 Mu misi yose azomara ari Umunaziri ntaze arye ikintu na kimwe gikozwe mu nzabibu, naho zoba inzabibu zikiri mbisi canke ibishishwa vyazo.
5 Imisi yose y’indagano yiwe y’ubunaziri, nta rwembe rukwiye kumugera ku mutwe+. Azoguma ari mweranda mu kureka umushatsi ukaguma ukura, gushika imisi yiwe yo kwiyegurira Yehova irangiye. 6 Mu misi yose azomara yiyeguriye Yehova, ntakwiye kwegera ikiziga. 7 Ntakwiye kwihumanya naho hoba hapfuye se wiwe, nyina wiwe, mwenewabo canke mushikiwe+, kuko ku mutwe wiwe hari ikimenyetso c’uko ari Umunaziri w’Imana.
8 Imisi yose azomara ari Umunaziri azoba ari mweranda imbere ya Yehova. 9 Ariko nihagira uwupfira iruhande yiwe giturumbuka+, agahumanya imishatsi yiwe yerekana ko yiyeguriye Imana, ategerezwa kumwa umushatsi wiwe+ ku musi wo kwihumanura. Azowumwa ku musi ugira indwi. 10 Ku musi ugira umunani, azoca azana intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto, azihe umuherezi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 11 Umuherezi azotanga imwe nk’ishikanwa ry’igicumuro, iyindi nk’ishikanwa riturirwa hanyuma amutangire impongano kubera ico gicumuro ciwe+ gifitaniye isano n’umuntu yapfuye. Kuri uwo musi nyene azoca yityorora*. 12 Azoca asubira kwiyegurira Yehova maze atangure imisi yiwe y’ubunaziri. Azozana ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha rigizwe n’isuguru y’intama imaze umwaka canke udashika. Ariko rero, imisi y’ubunaziri yamaze ubwa mbere ntizoharurwa kuko yihumanije.
13 Iri ni ryo tegeko rigenga Umunaziri: igihe arangije imisi yiwe y’ubunaziri+, bazomuzana ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 14 Azoca ashikanira amashikanwa Yehova ari ng’aho: isuguru y’intama y’ishikanwa riturirwa+ imaze umwaka canke udashika kandi itagira akanenge, ishashi y’intama y’ishikanwa ry’igicumuro+ imaze umwaka canke udashika kandi itagira akanenge, impfizi y’intama itagira akanenge y’ikimazi co gusangira+, 15 igiseke c’imikate y’umuzingi itarimwo umwambiro ikozwe mw’ifu inoze kandi icumbanywe amavuta, udukate dufyase tutarimwo umwambiro dusizeko amavuta, hamwe n’ishikanwa ryavyo ry’intete+ be n’amashikanwa yaryo y’ibinyobwa+. 16 Umuherezi azobizana imbere ya Yehova, maze atangure gushikana ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa. 17 Azoshikanira Yehova ya mpfizi y’intama y’ikimazi co gusangira iri kumwe na ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro, hanyuma ace ashikana ishikanwa ry’intete+ be n’ishikanwa ry’ikinyobwa bijana.
18 Uwo Munaziri abwirizwa kumwera umushatsi wiwe+ ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. Azoca afata uwo mushatsi wakuze mu kiringo c’ubunaziri bwiwe, awushire ku muriro munsi y’ikimazi co gusangira. 19 Umuherezi azoca atora ukuboko gutetse+ kwa ya mpfizi y’intama, atore n’umukate w’umuzingi utarimwo umwambiro be n’agakate gafyase muri ca giseke, abishire mu minwe y’uwo Munaziri yakuye ku mutwe ikimenyetso c’ubunaziri bwiwe. 20 Azoca abizungagiza* nk’ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova+. Ni ikintu ceranda cegukira umuherezi, cokimwe n’akameme k’ishikanwa bazungagiza be n’itako ry’umugabane mweranda+. Inyuma y’ivyo, uwo Munaziri arashobora kunywa umuvinyu.
21 Iri ni ryo tegeko rigenga Umunaziri+ agize indagano: Niyagira indagano kandi akaba afise uburyo bwo gushikanira Yehova ishikanwa rirenze iryo Abanaziri basabwa, ategerezwa gushitsa indagano yiwe kugira yubahirize itegeko rigenga ubunaziri bwiwe.”»
22 Hanyuma Yehova abwira Musa ati: 23 «Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: “Uku ni ko muzohezagira+ Abisirayeli. Muzobabwire muti:
24 ‘Yehova nabahezagire+ kandi abakingire.
25 Yehova nabashime*+ kandi abagirire neza.
26 Yehova nabarabe ryiza yongere abahe amahoro+.’”
27 Bakwiye gukoresha izina ryanje mu gusabira imigisha Abisirayeli+ kugira ndabahezagire+.»
7 Umusi Musa arangiza kwubaka rya hema ryeranda+, yaciye arisukako amavuta*+, araryeza n’ibikoresho vyaryo vyose hamwe n’igicaniro n’ibikoresho vyaco vyose+. Amaze gusuka amavuta kuri ivyo bintu vyose akavyeza+, 2 abakuru b’Abisirayeli+ n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo baciye batanga ishikanwa. Abo bakuru b’imiryango ni bo bari bahagarikiye ca gikorwa co kwandika abantu. 3 Nuko bazana imbere ya Yehova ishikanwa ryabo rigizwe n’imikogote itandatu ipfutse hamwe nʼimpfizi 12: abakuru babiribabiri ku mukogote umwe, n’impfizi kuri umwumwe wese. Babizana imbere y’ihema ryeranda. 4 Yehova aca abwira Musa ati: 5 «Niwakire ivyo bintu bazanye, kuko bizokoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. Uzobiha Abalewi wisunze ibikorwa umwe wese ajejwe.»
6 Musa aca yakira iyo mikogote n’izo nka, abiha Abalewi. 7 Abagerushoni abaha imikogote ibiri nʼimpfizi z’inka zine yisunze ibikorwa bajejwe+, 8 Abamerari na bo abaha imikogote ine n’impfizi umunani yisunze ibikorwa bajejwe. Itamari umuhungu wa Aroni umuherezi ni we yari ahagarikiye ibikorwa vyabo+. 9 Ariko Abakohati nta na kimwe yabahaye kuko bakora ibikorwa vy’ahantu heranda+, bakaba batwara ibintu vyeranda ku rutugu+.
10 Abo bakuru batanze ishikanwa ryabo umusi igicaniro casukwako amavuta kigashikirizwa* Imana+. Igihe bazana iryo shikanwa imbere y’igicaniro, 11 Yehova yaciye abwira Musa ati: «Buri musi, umukuru umwumwe ni we azoza aratanga ishikanwa ryo gushikiriza Imana igicaniro.»
12 Uwatanze ishikanwa ku musi wa mbere yari Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu wo mu muryango wa Yuda. 13 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli* 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda*+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 14 igikombe* c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 15 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama* umaze umwaka umwe canke udashika; 16 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 17 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama* itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Nahashoni umuhungu wa Aminadabu+.
18 Ku musi ugira kabiri, Netaneli+ umuhungu wa Zuwari, umukuru w’abakomoka kuri Isakari ni we yatanze ishikanwa. 19 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 20 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 21 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 22 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 23 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Netaneli umuhungu wa Zuwari.
24 Ku musi ugira gatatu, hari haramukiwe Eliyabu+ umuhungu wa Heloni, umukuru w’abakomoka kuri Zabuloni. 25 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 26 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 27 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 28 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 29 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyabu+ umuhungu wa Heloni.
30 Ku musi ugira kane, hari haramukiwe Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri, umukuru w’abakomoka kuri Rubeni. 31 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 32 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 33 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 34 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 35 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.
36 Ku musi ugira gatanu, hari haramukiwe Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi, umukuru w’abakomoka kuri Simeyoni. 37 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 38 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 39 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 40 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 41 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi.
42 Ku musi ugira gatandatu, hari haramukiwe Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli, umukuru w’abakomoka kuri Gadi. 43 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 44 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 45 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 46 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 47 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli.
48 Ku musi ugira indwi, hari haramukiwe Elishama+ umuhungu wa Amihudi, umukuru w’abakomoka kuri Efurayimu. 49 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 50 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 51 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 52 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 53 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elishama+ umuhungu wa Amihudi.
54 Ku musi ugira umunani, hari haramukiwe Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri, umukuru w’abakomoka kuri Manase. 55 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 56 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 57 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 58 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 59 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri.
60 Ku musi ugira icenda, hari haramukiwe Abidani+ umuhungu wa Gideyoni, umukuru+ w’abakomoka kuri Benyamini. 61 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 62 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 63 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 64 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 65 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Abidani+ umuhungu wa Gideyoni.
66 Ku musi ugira cumi, hari haramukiwe Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi, umukuru w’abakomoka kuri Dani. 67 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 68 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 69 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 70 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 71 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi.
72 Ku musi ugira 11, hari haramukiwe Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani, umukuru w’abakomoka kuri Asheri. 73 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 74 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 75 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 76 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 77 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani.
78 Ku musi ugira 12, hari haramukiwe Ahira+ umuhungu wa Enani, umukuru w’abakomoka kuri Nafutali. 79 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+; 80 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu; 81 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika; 82 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+ 83 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahira+ umuhungu wa Enani.
84 Iri ni ryo shikanwa abakuru b’Abisirayeli batanze umusi igicaniro casukwako amavuta kigashikirizwa Imana+: amasahani 12 y’ifeza, amabakure 12 y’ifeza n’ibikombe 12 vy’inzahabu+. 85 Isahani imwimwe yose yapima shekeli 130, ibakure na yo shekeli 70. Ivyo bikoresho vyose vyari bikozwe mw’ifeza zingana na shekeli 2.400 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+. 86 Kimwe cose muri ivyo bikombe vy’inzahabu 12 vyuzuye imibavu, capima shekeli 10 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda. Ivyo bikombe vyose vyari bikozwe mu nzahabu zingana na shekeli 120. 87 Ishikanwa riturirwa ryari rigizwe n’ishuri 12, impfizi z’intama 12, imyagazi y’intama 12, umwe wose umaze umwaka umwe be n’ishikanwa ry’intete bijana, hamwe n’imyagazi y’impene 12 y’ishikanwa ry’igicumuro. 88 Ikimazi co gusangira na co cari kigizwe n’ishuri 24, impfizi z’intama 60, amasuguru y’impene 60 n’imyagazi y’intama 60, umwe wose umaze umwaka umwe. Ivyo ni vyo vyari bigize ishikanwa batanze umusi igicaniro casukwako amavuta+ kigashikirizwa Imana+.
89 Igihe cose Musa yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro kuvugana n’Imana+, yarumva ijwi ryayo rivugana na we rivuye hejuru y’umufuniko+ wa ya sandugu y’isezerano*, hagati ya ba bakerubi babiri+. Imana yaravugana na we.
8 Yehova abarira Musa ati: 2 «Bwira Aroni uti: “Niwatsa amatara indwi yo kuri ca kintu baterekako amatara, akwiye kubonesha mu kibanza kiri imbere yaco+.”» 3 Aroni aca abigenza gutyo nyene, yatsa amatara y’ico kintu baterekako amatara kugira aboneshe mu kibanza kiri imbere yaco+, nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. 4 Uku ni ko cari gikozwe: cari gicurishijwe inyundo mu nzahabu, kuva ku mutumba waco gushika ku mashurwe yaco+. Bagicuze bisunze ivyo Yehova yeretse Musa+.
5 Yehova yongera kubwira Musa ati: 6 «Tora Abalewi mu bandi Bisirayeli, ubatyorore+. 7 Uzobigenza gutya mu kubatyorora: uzobamijagira amazi akura igicumuro hanyuma bimoshe umubiri wose, bamesure impuzu zabo bongere bihumanure+. 8 Bazoca batora ishuri+ hamwe n’ishikanwa ryayo ry’intete+ rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta, hanyuma nawe utore iyindi shuri ikiri nto y’ishikanwa ry’igicumuro+. 9 Uzoca uzana Abalewi imbere y’ihema ry’ibonaniro, uheze ukoranye ishengero ryose ry’Abisirayeli+. 10 Niwazana Abalewi imbere ya Yehova, Abisirayeli bazobarambikeko ibiganza+. 11 Aroni azoca abashikanira* Yehova nk’ishikanwa bazungagiza+ ritanzwe n’Abisirayeli kugira bakorere Yehova+.
12 Abalewi bazoheza barambike ibiganza ku mitwe y’izo shuri+. Inyuma y’ivyo, ishuri imwe izoshikanirwa Yehova nk’ishikanwa ry’igicumuro, iyindi na yo nk’ishikanwa riturirwa kugira Abalewi batangirwe impongano+. 13 Uzohagarika Abalewi imbere ya Aroni n’abahungu biwe, hanyuma ubashikirize Yehova nk’ishikanwa bazungagiza. 14 Uzotandukanya Abalewi n’abandi Bisirayeli kugira Abalewi babe abanje+. 15 Abalewi bazoheza binjire kugira bakore ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. Ukwo ni ko uzobigenza kugira ubatyorore no kugira ubashikane nk’ishikanwa bazungagiza. 16 Ni ingabire nahawe ivuye mu Bisirayeli. Nzobatwara mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli+. 17 Imfura zose muri Isirayeli ni izanje, haba mu bantu canke mu bitungwa+. Nazishize ku ruhande umusi nica imfura zose mu Misiri+. 18 Nzotwara Abalewi mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli. 19 Abalewi nzobaha Aroni n’abahungu biwe nk’ingabire ivuye mu Bisirayeli, kugira bakore ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro mu kibanza c’Abisirayeli+ no kugira babatangire impongano. Ivyo bizotuma Abisirayeli badashikirwa n’ivyago+ kubera begereye ahantu heranda.»
20 Musa na Aroni hamwe n’ishengero ryose ry’Abisirayeli bagirira Abalewi gutyo nyene. Abisirayeli bagirira Abalewi ivyo Yehova yari yategetse Musa vyose ku biberekeye. 21 Nuko Abalewi barityorora bongera bamesa impuzu zabo+, hanyuma Aroni abashikanira Yehova nk’ishikanwa bazungagiza+. Aroni araheza abatangira impongano kugira abatyorore+. 22 Inyuma y’ivyo, Abalewi binjira mw’ihema ry’ibonaniro kugira bakore ibikorwa vyabo, bahagarikiwe na Aroni n’abahungu biwe. Abalewi bagirirwa nk’uko nyene Yehova yari yategetse Musa ku biberekeye.
23 Maze Yehova abwira Musa ati: 24 «Ibi vyerekeye Abalewi: guhera ku myaka 25, umuhungu azoca aja mu bakora ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. 25 Ariko arengeje imyaka 50, azoca akukuruka kandi ntazosubira gukora ico gikorwa. 26 Yoshobora gufasha benewabo bakora ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro, ariko we ntakwiye gushingwa ibikorwa vyaho. Ukwo ni ko uzobigenza ku bijanye n’Abalewi n’ibikorwa bajejwe+.»
9 Mu kwezi kwa mbere kw’umwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye mu Misiri, Yehova avugana na Musa mu bugaragwa bwa Sinayi+, amubwira ati: 2 «Abisirayeli bakwiye gutegura ikimazi ca Pasika+ igihe nashinze kigeze+. 3 Muzogitegura ku mugoroba* w’umusi ugira 14 w’uku kwezi, igihe nashinze kigeze. Muze mugitegure mwisunze amabwirizwa yose n’amategeko yose akigenga+.»
4 Musa aca abwira Abisirayeli gutegura ikimazi ca Pasika. 5 Nuko bategura ico kimazi bari mu bugaragwa bwa Sinayi, ku mugoroba w’umusi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere. Bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse Musa.
6 Ico gihe hariho abagabo bari bahumanye kubera bakoze ku kiziga+, ku buryo batashobora gutegura ikimazi ca Pasika kuri uwo musi. Baca baza imbere ya Musa na Aroni kuri uwo musi+, 7 babwira Musa bati: «Turahumanye kubera twakoze ku kiziga. None duca tureka gushikanira Yehova amashikanwa ku gihe yashinze nk’abandi Bisirayeli+?» 8 Musa abishura ati: «Nimundindirire aho. Reka mbaze Yehova numve ico abivugako+.»
9 Maze Yehova abwira Musa ati: 10 «Bwira Abisirayeli uti: “Umuntu uwo ari we wese wo muri mwebwe canke wo mu bazobakomokako, ategerezwa gutegurira Yehova ikimazi ca Pasika, naho yoba ahumanye kubera yakoze ku kiziga+ canke akaba yafashe urugendo rwa kure. 11 Azogitegura ku mugoroba w’umusi ugira 14 w’ukwezi kugira kabiri+. Azogikoza umukate utarimwo umwambiro n’imboga zirura+. 12 Ntakwiye kuraza inyama zaco+ kandi nta gufa na rimwe ryaco akwiye kuvuna+. Azogitegura yisunze amategeko yose agenga Pasika. 13 Ariko umuntu niyirengagiza gutegura ikimazi ca Pasika kandi adahumanye canke ngo abe ari ku rugendo, uwo muntu ategerezwa kwicwa*+ kuko atashikaniye Yehova ishikanwa ku gihe cashinzwe. Azohanirwa igicumuro ciwe.
14 Nimba hari umunyamahanga aba muri mwebwe, na we nyene ategerezwa gutegurira Yehova ikimazi ca Pasika+. Azogitegura yisunze amabwirizwa n’amategeko akigenga+. Itegeko ni rimwe ku munyamahanga no ku Mwisirayeli w’imvukira+.”»
15 Ku musi ihema ryeranda ryubakwa+, igicu caciye gipfuka iryo hema, ni ukuvuga rya hema ryarimwo isandugu y’isezerano*. Ariko ku mugoroba, haciye haboneka ikintu kimeze nk’umuriro, kiguma hejuru yaryo gushika mu gitondo+. 16 Uku ni ko vyama bigenda: ku murango ryama ripfutswe n’igicu, mw’ijoro na ho rigapfukwa n’ikintu kimeze nk’umuriro+. 17 Iyo ico gicu kivuye hejuru y’iryo hema, Abisirayeli baca bagenda+. Gihagaze, baca bashinga amahema aho nyene+. 18 Yehova atanze itegeko, Abisirayeli baca bagenda, kandi Yehova atanze itegeko, baca bashinga amahema+. Igicu kigumye hejuru y’ihema ryeranda, baguma bashinze amahema. 19 Bishitse kikamara imisi myinshi hejuru y’iryo hema ryeranda, Abisirayeli baragamburukira Yehova, ntibagenda+. 20 Hari igihe camara imisi mikeyi hejuru y’ihema ryeranda. Yehova atanze itegeko, baca bashinga amahema, kandi Yehova atanze itegeko, baca bagenda. 21 Hari n’igihe cahaguma kuva ku mugoroba gushika mu gitondo gusa. Iyo kihavuye mu gitondo, baca bagenda. Haba ku murango canke mw’ijoro, kihavuye baca bagenda+. 22 Naho camara imisi ibiri, ukwezi canke kurenga kiri hejuru y’ihema ryeranda, Abisirayeli baguma bashinze amahema yabo, ntibagenda. Ariko kihavuye baca bagenda. 23 Yehova atanze itegeko, baca bashinga amahema, kandi Yehova atanze itegeko, baca bagenda. Baguma bubahiriza ivyo Yehova abasaba, nk’uko Yehova yabitegetse biciye kuri Musa.
10 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Nucure inzumbete zibiri+ mw’ifeza ukoresheje inyundo. Uzozikoresha mu gukoranya abagize ishengero no mu kubamenyesha ko ikambi igira yimuke. 3 Zivugijwe zose, ishengero ryose rizoca rikoranira aho uri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 4 Havugijwe rumwe gusa, abakuru bonyene, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi muri Isirayeli, ni bo bazoca baza aho uri+.
5 Muvugije ijwi rihindagurika, umugwi ukambitse mu buseruko+ ni wo uzoca ugenda. 6 Muvugije ijwi rihindagurika ubugira kabiri, umugwi ukambitse mu bumanuko+ ni wo uzoca ugenda. Muzoza muravuza inzumbete muri ubwo buryo igihe cose umwe muri iyo migwi ugira ugende.
7 Muzovuza izo nzumbete igihe mukoranya ishengero+, ariko ntimuzovuze ijwi rihindagurika. 8 Abahungu ba Aroni ari bo baherezi, ni bo bazovuza izo nzumbete+. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
9 Nimwaja kurwanya umwansi abateye mu gihugu canyu, mukwiye kuzivuza mu gutera akamo abantu ngo baze ku rugamba+. Yehova Imana yanyu azoca abibuka, abakize abansi banyu.
10 No mu bihe vy’umunezero+, mu misi mikuru yanyu+ no mu ntango z’amezi, muzovuza inzumbete igihe muzoba muriko muratanga amashikanwa aturirwa+ n’ibimazi vyo gusangira+. Amajwi y’izo nzumbete azotuma Imana yanyu ibibuka. Ndi Yehova Imana yanyu+.»
11 Mu mwaka ugira kabiri, ku musi ugira 20 w’ukwezi kwa kabiri+, ca gicu gica kiva hejuru ya rya hema+ ririmwo isandugu y’isezerano*. 12 Abisirayeli baca bava mu bugaragwa bwa Sinayi, bagenda bakurikije urutonde rwashinzwe+. Hanyuma ico gicu gihagarara mu bugaragwa bw’i Parani+. 13 Ni rwo rugendo rwa mbere Abisirayeli bagize bisunze itegeko Yehova atanze biciye kuri Musa+.
14 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Yuda ni wo watanguye kugenda, upanze mu migwi mitomito*. Umukuru w’umuryango wa Yuda yari Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu. 15 Umukuru w’umuryango wa Isakari yari Netaneli+ umuhungu wa Zuwari. 16 Umukuru w’umuryango wa Zabuloni na we yari Eliyabu+ umuhungu wa Heloni.
17 Bamaze gusambura ihema+, Abagerushoni+ n’Abamerari+ ari na bo baritwara, baciye bagenda.
18 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Rubeni ni wo waciye ukurikira, upanze mu migwi mitomito. Umukuru w’umuryango wa Rubeni yari Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri. 19 Umukuru w’umuryango wa Simeyoni yari Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi. 20 Umukuru w’umuryango wa Gadi na we yari Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli.
21 Haciye hakurikira Abakohati, ari na bo batwara ibikoresho vy’ahantu heranda+. Ihema ryeranda ryategerezwa gushingwa imbere y’uko bashika.
22 Umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Efurayimu ni wo waciye ukurikira, upanze mu migwi mitomito. Umukuru w’umuryango wa Efurayimu yari Elishama+ umuhungu wa Amihudi. 23 Umukuru w’umuryango wa Manase yari Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri. 24 Umukuru w’umuryango wa Benyamini na we yari Abidani+ umuhungu wa Gideyoni.
25 Haciye hakurikira umugwi w’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Dani, upanze mu migwi mitomito. Wagendera inyuma ucunze iyo migwi yose. Umukuru w’umuryango wa Dani yari Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi. 26 Umukuru w’umuryango wa Asheri yari Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani. 27 Umukuru w’umuryango wa Nafutali yari Ahira+ umuhungu wa Enani. 28 Urwo ni rwo rutonde Abisirayeli n’imigwi yabo bisunga mu kugenda+.
29 Musa aca abwira Hobabu, umuhungu wa sebukwe Ruweli*+ Umumidiyani ati: «Tugira tugende ahantu Yehova yasezeranye ko azoduha+. Ingo tujane+ tuzogufata neza, kuko Yehova yemereye Abisirayeli ibintu vyiza+.» 30 Ariko Hobabu amwishura ati: «Oya ntitujana. Ahubwo ngira nsubire mu gihugu iwacu no mu muryango iwacu.» 31 Musa amwishura ati: «Ndagusavye ntudute, kuko uzi aho dushobora gushinga amahema muri ubu bugaragwa. Urashobora kuza uratwereka inzira*. 32 Niwemera tukajana+, tuzosangira ivyiza vyose Yehova azoduha.»
33 Nuko bava ku musozi wa Yehova+, bafata urugendo rw’imisi itatu. Muri iyo misi itatu, isandugu+ y’isezerano rya Yehova yagendera imbere yabo kugira ibaronderere ahantu ho kuruhukira+. 34 Igihe bavuye aho bari bakambitse, igicu ca Yehova+ caguma hejuru yabo ku murango.
35 Igihe cose bahagurukanye isandugu y’isezerano, Musa yaca avuga ati: «Haguruka Yehova+, abansi bawe bashwiragire! Abakwanka nibahunge bave imbere yawe!» 36 Igihe bayishikanye na ho yaca avuga ati: «Nugaruke Yehova ku bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli+!»
11 Abantu batangura kwidodomba n’agashavu imbere ya Yehova. Yehova avyumvise, aca ararungura n’ishavu. Yehova aca abatiburiramwo umuriro, utangura kuyigiza bamwebamwe ku mpera y’ikambi. 2 Abantu baca batangura kuririra Musa, na we aca atakambira Yehova+ maze uwo muriro urazima. 3 Aho hantu baca bahita Tabera*, kuko Yehova yari yabatiburiyemwo umuriro+.
4 Isinzi ry’abanyamahanga+ bari kumwe na bo batangura kwipfuza cane+ ivyo kurya vyizavyiza. Abisirayeli na bo nyene baca batangura kurira, bavuga bati: «Ni nde azoduha inyama turya+? 5 Urazi ukuntu dukumbuye ya mafi twahora twirira kuri gusa mu Misiri, na ya makonkombure, amapasteke, ibitunguru vya pwaro, ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu+! 6 Ariko raba ubu, nta n’utuguvu tugifise. Nta kindi duhanze amaso atari iyi manu+.»
7 Iyo manu+ rero yari imeze nk’imbuto z’agati kitwa gadi+, kandi yasa n’ibirirarira vyera biva ku biti. 8 Abantu barakwiragira irya n’ino bakayitora, hanyuma bakayisya* canke bakayisekura. Baca bayiteka mu nkono canke bakayikoramwo imikate yiburungushuye+. Yari ifise akanovera nk’ak’udukate dusosa ducumbanywe amavuta. 9 Igihe urume rutonze aho bakambitse mw’ijoro, na manu yazanana na rwo+.
10 Musa yumva abantu bo mu miryango yose barira, umwe wese aririra ku bwinjiriro bw’ihema ryiwe. Yehova aca arashavura cane+, na Musa biramubabaza rwose. 11 Maze Musa abwira Yehova ati: «Kubera iki wankwegeye izi ngorane jewe umusavyi wawe? Kuki utanyumviye akagongwe, ukandemeka umuzigo w’aba bantu bose+? 12 Mbega ni je natwaye inda y’aba bantu bose? Ni je nabavyaye aho umbwira ngo ndababumbatire mu gikiriza nka kurya umurezi* abumbatira umwana yonka, maze ndabajane mu gihugu warahiye ko uzoha ba sekuruza babo+? 13 Nzokura hehe inyama zikwiye aba bantu bose, ko baguma bandirira ngo ndabahe inyama! 14 Sinshobora kwikorera aba bantu bose jenyene kuko bandengeye+. 15 Hako ubandanya kumfata gutyo, pfuma unyica bihere biheze+. Ndagusavye ntusubire kunyereka ibindi vyago.»
16 Yehova yishura Musa ati: «Ntorera abagabo 70 mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abagabo uzi ko ari abashingantahe n’abakuru babishoboye+, ubajane kw’ihema ry’ibonaniro hanyuma uhagararane na bo ng’aho. 17 Nanje nzoca manuka+, mvuganire nawe ng’aho+. Nzokura impwemu nkeyi+ kuri wewe ndayishire kuri bo, baheze bagufashe kwikorera umuzigo w’aba bantu kugira ntubandanye kuwikorera wenyene+. 18 Bwira abantu uti: “Nimwitegurire* umusi w’ejo+. Muzorya inyama koko, kuko Yehova yumvise ingene murira mwidoga+ ngo: ‘Ni nde azoduha inyama turya? Mu Misiri hoho twari twimererewe neza+.’ Emwe, ari inyama gusa, Yehova azozibaha kandi muzozirya+. 19 Ntimuzozirya umusi umwe gusa canke 2 canke 5 canke 10 canke 20, 20 ahubwo muzozirya ukwezi kwose, gushika zibaciye mu mazuru zigasigara zibashisha+, kuko mwiyamirije Yehova ari hagati yanyu, mukaririra imbere yiwe muvuga ngo: ‘Kubera iki twavuye mu Misiri+?’”»
21 Maze Musa avuga ati: «Iri hanga ryacu ririmwo abagabo* 600.000+, hanyuma nawe ngo: “Nzobaha inyama barya ukwezi kwose!” 22 Mbega hoho uwobabagira amasho y’ibitungwa, ugira yobakwira? Canke uwofata amafi yose yo mu kiyaga, ugira yobakwira?»
23 Yehova yishura Musa ati: «Wibaza ko ukuboko kwanje jewe Yehova ari kugufi+? Nawe uraza kuraba ko ivyo ndakubwiye biba canke bitaba.»
24 Musa aca agenda kubwira abantu ivyo Yehova yavuze. Akoranya ba bagabo 70 bavuye mu bashingantahe bo muri Isirayeli, abasaba guhagarara bakikuje ihema ry’ibonaniro+. 25 Yehova aca amanuka mu gicu+, avugana na we+. Akura impwemu nkeyi+ kuri we, ayishira kuri umwumwe muri ba bashingantahe 70. Iyo mpwemu imaze kubajako, baca batangura kuvuga ubuhanuzi*+. Ariko ivyo ntivyabandanije.
26 Ariko rero, hari abagabo babiri muri bo bari bagumye mw’ikambi. Umwe yitwa Elidadi, uwundi Medadi. Nuko impwemu ibazako, kuko na bo nyene bari mu banditswe, ariko ntibari bagiye kw’ihema ry’ibonaniro. Na bo baca batangura kuvuga ubuhanuzi mw’ikambi. 27 Umusore umwe aca yiruka kwa Musa, amubwira ati: «Elidadi na Medadi bariko baravuga ubuhanuzi mw’ikambi!» 28 Yosuwa+ mwene Nuni, uwabaye umufasha wa Musa kuva akiri umusore, aca abwira Musa ati: «Databuja, babuze+!» 29 Ariko Musa amwishura ati: «Uriko uranyumvira impuhwe? Ahubwo icompa abantu bose ba Yehova bakaba abahanuzi, Yehova akabashirako impwemu yiwe!» 30 Musa araheza asubira mw’ikambi, ari kumwe na ba bashingantahe bo muri Isirayeli.
31 Ubwo nyene umuyaga uvuye kuri Yehova uca urahuhuta, utangura kuzana inkware zivuye ku kiyaga, zigwa hirya no hino y’ikambi+. Zikikuza ikambi gushika ahantu umuntu yogenda urugendo rw’umusi umwe. Kuva hasi kuduga zashika ahareha n’intambwe* zibiri. 32 Abantu baca bamara uwo musi wose begeranya izo nkware ijoro n’umurango be n’umusi ukurikira wose. Nta n’umwe yegeranije iziri munsi ya homeri* cumi. Baguma bazanikira hirya no hino y’ikambi. 33 Ariko izo nyama zikiri mu kanwa kabo, bataranatangura kuzihekenya, Yehova aca arashavurira cane abo bantu, maze Yehova atangura kubasasika, inganda ziratikira bimwe bikomeye+.
34 Aho hantu baca bahita Kiburoti-Hatava*+, kuko bahahamvye abantu bafise ameru+. 35 Abantu baraheza bafata urugendo, bava i Kiburoti-Hatava baja i Hazeroti+ maze bagumayo.
12 Miriyamu na Aroni batangura kuvuga nabi Musa kubera yari yarongoye Umukushikazi+. 2 Baguma bavuga bati: «Mbega Yehova avuga biciye kuri Musa gusa? None ntahora avuga biciye no kuri twebwe+?» Ivyo vyose Yehova yariko aravyumva+. 3 Mugabo Musa yari umuntu atekereza cane* kurusha abantu bose+ bari kw’isi.
4 Ubwo nyene Yehova aca abwira Musa na Aroni na Miriyamu ati: «Mwese uko muri batatu nimugende kw’ihema ry’ibonaniro.» Bose baca baragenda. 5 Yehova aca amanuka muri ya nkingi y’igicu+, ahagarara ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro maze ahamagara Aroni na Miriyamu. Na bo baca begera imbere. 6 Ababwira ati: «Nimunyumvirize neza. Iyaba muri mwebwe harimwo umuhanuzi wanje jewe Yehova, nomwimenyesheje mw’iyerekwa+ kandi nkavugana na we mu ndoto+. 7 Ariko si ko biri ku musavyi wanje Musa! Ajejwe ihanga ryanje ryose*+. 8 Mvugana na we amaso mu yandi*+, ntomora, ata gufobeka. Arabona ishusho yanje jewe Yehova. Kuki none mwubahutse kuvuga nabi umusavyi wanje Musa?»
9 Yehova aca arabashavurira cane hanyuma arigira. 10 Ca gicu gica kiragenda, kiva hejuru y’ihema ry’ibonaniro. Miriyamu aca afatwa n’imibembe, asigara yera derere*+. Aroni ahindukiye kumuraba, asanga yafashwe n’imibembe+. 11 Aroni aca abwira Musa ati: «Databuja*, ndakwinginze ntureke ngo duhanirwe ico gicumuro. Twakoze ibintu vy’ubupfu! 12 Ndakwinginze ntumureke ngo agume ameze nk’umwana avutse yapfuye, igice c’umubiri wiwe camaze kubora!» 13 Musa aca atakambira Yehova ati: «Ewe Mana, ndakwinginze umukize, ndabigusavye+!»
14 Yehova yishura Musa ati: «Hamwe se wiwe yomucira mu maso, ntiyomara imisi indwi ari ikimaramare? Mureke amare imisi indwi ari ukwa wenyene hanze y’ikambi+, azoheza agaruke.» 15 Miriyamu aca amara imisi indwi ari ukwa wenyene hanze y’ikambi+. Abantu ntibasubiye gufata urugendo gushika Miriyamu agarutse. 16 Baraheza bava i Hazeroti+, baja gukambika mu bugaragwa bw’i Parani+.
13 Yehova abwira Musa ati: 2 «Rungika abagabo baje gusuma urusaku* mu gihugu ca Kanani ngira mpe Abisirayeli. Uzorungika umugabo umwumwe ku muryango, kandi umwe wese muri bo akwiye kuba ari umukuru+ mu muryango iwabo+.»
3 Musa aca arabarungika, bagenda bavuye mu bugaragwa bw’i Parani+, yisunze itegeko rya Yehova. Abo bagabo bose bari abakuru b’Abisirayeli. 4 Aya ni yo mazina yabo: mu muryango wa Rubeni, yari Shamuwa umuhungu wa Zakuri. 5 Mu muryango wa Simeyoni, yari Shafati umuhungu wa Hori. 6 Mu muryango wa Yuda, yari Kalebu+ umuhungu wa Yefune. 7 Mu muryango wa Isakari, yari Igali umuhungu wa Yozefu. 8 Mu muryango wa Efurayimu, yari Hosheya+ umuhungu wa Nuni. 9 Mu muryango wa Benyamini, yari Paliti umuhungu wa Rafu. 10 Mu muryango wa Zabuloni, yari Gadiyeli umuhungu wa Sodi. 11 Mu muryango wa Yozefu+, ku ruhande rw’umuryango wa Manase+, yari Gadi umuhungu wa Susi. 12 Mu muryango wa Dani, yari Amiyeli umuhungu wa Gemali. 13 Mu muryango wa Asheri, yari Seturi umuhungu wa Mikayeli. 14 Mu muryango wa Nafutali, yari Nahibi umuhungu wa Vofusi. 15 Mu muryango wa Gadi na ho yari Geweli umuhungu wa Maki. 16 Ayo ni yo mazina y’abagabo Musa yarungitse gusuma urusaku muri ico gihugu. Musa aca aha izina Hosheya umuhungu wa Nuni, maze amwita Yosuwa*+.
17 Igihe Musa yabarungika gusuma urusaku mu gihugu ca Kanani, yababwiye ati: «Nimuduge i Negebu hanyuma muje mu misozi+. 18 Muzorabe ukuntu ico gihugu kimeze+, ko abantu baba muri co bakomeye canke badakomeye, ko ari bake canke benshi, 19 ko ico gihugu ari ciza canke kibi, be n’uko ibisagara babamwo bizitijwe impome canke bitazitijwe impome. 20 Muzorabe kandi ko ico gihugu cimbuka canke kitimbuka+ be n’uko hariyo ibiti canke ata biriyo. Muzorinduke+, muze muzanye ku vyamwa vyo muri ico gihugu.» Ico gihe hari hageze kwimbura inzabibu zeze ubwa mbere+.
21 Baca baraduga, bagenda barihweza ico gihugu, kuva mu bugaragwa bwa Zini+ gushika i Rehobu+ hafi y’i Lebo-Hamati*+. 22 Nuko baduga i Negebu maze bashika i Heburoni+, ari na ho haba Ahimani, Sheshayi na Talimayi+, kandi abo bose bakomoka kuri Anaki+. (Heburoni yari yubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani yo mu Misiri.) 23 Bashitse mu mwonga* wa Eshikoli+, baca bavuna ishami ririko inzabibu*. Babiri muri bo baca baritwara ku kibando, batwara n’amakomamanga makeyi hamwe n’insukoni nkeyi+. 24 Aho hantu baca bahita umwonga wa Eshikoli*+, kubera iryo shami ririko inzabibu Abisirayeli bahaciye.
25 Haheze imisi 40+, baca baragaruka bavuye gusuma urusaku muri ico gihugu. 26 Bagaruka i Kadeshi+ mu bugaragwa bw’i Parani, basangaho Musa na Aroni n’ishengero ryose ry’Abisirayeli. Baraheza bashikiriza raporo ishengero ryose ry’Abisirayeli, babereka n’ivyamwa bakuye muri ico gihugu. 27 Bamenyesha Musa bati: «Twarashitse mu gihugu waturungitsemwo, kandi vy’ukuri gitemba amata n’ubuki+. Ehe raba n’ivyamwa twakuyeyo+. 28 Ariko rero, abantu bo muri ico gihugu barakomeye kandi ibisagara vyaho bikingijwe impome ni binini cane. Twarabonyeyo n’abantu bakomoka kuri Anaki+. 29 Abamaleki+ baba mu ntara ya Negebu+. Abaheti, Abayebusi+ n’Abamori+ baba mu misozi yaho, Abanyakanani+ na bo baba iruhande y’ikiyaga+ no ku nkengera y’uruzi Yorodani.»
30 Kalebu aca agerageza guhoyahoya abo bantu bari bahagaze imbere ya Musa, ababwira ati: «Ingo tuduge ubu nyene kandi nta kabuza turahigarurira. Turashobora kubatsinda+!» 31 Ariko abagabo bari baduganye na we baca bavuga bati: «Ntidushobora kuduga kurwanya abo bantu, kuko bakomeye kuturusha+.» 32 Baguma bashikiriza Abisirayeli amakuru mabi+ yerekeye igihugu bari bagiye kugenzura, bavuga bati: «Igihugu twaciyemwo tukigenzura ni igihugu kimira abakibamwo, kandi abantu bose twabonyeyo ni ibigabo birebire cane+. 33 Twarabonyeyo Abanefili, abahungu ba Anaki+ bakomoka ku Banefili. Imbere yabo wamengo turi uduhori, kandi na bo nyene ni ko batubona.»
14 Ishengero ryose rica ritangura kuboroga, abantu bamara iryo joro ryose barira+. 2 Abisirayeli bose batangura kwidogera Musa na Aroni+, ishengero ryose ribabwira riti: «Iyo dupfuma dupfira mu gihugu ca Misiri canke muri ubu bugaragwa! 3 Kubera iki Yehova atujanye muri ico gihugu kugira twicwe n’inkota+? Abagore bacu n’abana bacu bazogirwa imbohe+. None ntitwopfuma twisubirira mu Misiri+?» 4 Mbere baranabwiranye bati: «Twitorere umukuru maze twisubirire mu Misiri+!»
5 Musa na Aroni baca barunama mu maso habo hashika hasi, imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli ryari rikoraniye ng’aho. 6 Yosuwa+ mwene Nuni na Kalebu+ mwene Yefune, abari mu bagiye kugenzura ico gihugu, baca batabura impuzu zabo, 7 babwira ishengero ryose ry’Abisirayeli bati: «Igihugu twaciyemwo tukigenzura ni igihugu ciza, emwe ciza cane+! 8 Nitwashimisha Yehova, azotujana koko muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki akiduhe+. 9 Ariko ntimugararize Yehova canke ngo mutinye abantu bo muri ico gihugu+ kuko tuzobafyeta*! Ntibagira ikibakingira, ariko Yehova ari kumwe natwe+. Ntimubatinye.»
10 Ishengero ryose rica ritangura kuvuga ngo ribicishe amabuye+. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera Abisirayeli bose hejuru y’ihema ry’ibonaniro+.
11 Maze Yehova abwira Musa ati: «Aba bantu bazonsuzugura gushika ryari+? Bazogeza ryari kutanyizera n’ibitangaro vyose maze gukorera imbere yabo+? 12 Reka ndabateze ikiza ndabahonye, hanyuma ndagukuremwo ihanga rihambaye kandi ribarusha inguvu+.»
13 Mugabo Musa abwira Yehova ati: «Aba bantu wabakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe. Niwabahonya, Abanyamisiri bazovyumva+ 14 kandi bazobibwira ababa mu gihugu tugiyemwo. Na bo nyene barumvise ko wewe Yehova uri hagati y’aba bantu+ be n’uko wabiyeretse amaso mu yandi+. Uri Yehova kandi igicu cawe kiguma hejuru yabo. Ku murango ugendera imbere yabo mu nkingi y’igicu, mw’ijoro na ho mu nkingi y’umuriro+. 15 Hamwe wokwicira rimwe aba bantu bose*, amahanga yumvise ingene uri rurangiranwa yohava avuga ngo: 16 “Yehova vyaramunaniye gushikana aba bantu mu gihugu yarahiye ko azobaha, ni co gituma yaciye abicira mu bugaragwa+.” 17 Ndakwinginze rero Yehova, ureke ububasha bwawe bwigaragaze nk’uko wabisezeranye mu kuvuga uti: 18 “Ndi Yehova, Imana iteba gushavura kandi yuzuye urukundo*+. Ndababarira ikosa n’ikigabitanyo mugabo sinigera ndeka guhana uwagirwa n’icaha. Mpana abana kubera ikosa rya ba se, gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane+.” 19 Ndakwinginze ubabarire aba bantu ikosa ryabo kubera urukundo* rwawe rwinshi, nk’uko nyene wagiye urabaharira kuva mu Misiri gushika n’ubu+.»
20 Yehova aca avuga ati: «Ndabababariye nk’uko ubivuze+. 21 Ariko rero, ndahiye ukubaho kwanje, isi yose izokwuzura ubuninahazwa bwa Yehova+. 22 Abantu bose babonye ubuninahazwa bwanje n’ibimenyetso+ nakoreye mu Misiri no mu bugaragwa, ariko bakaguma bangerageza+ izi ncuro cumi zose kandi ntibanyumvirize+, 23 ntibazobona igihugu narahiye ba sekuru. Emwe, nta n’umwe muri abo bantu batanyubaha azogenda akibonye+. 24 Mugabo umusavyi wanje Kalebu+, kubera yuko atabaye nka bo* kandi akaguma ankurikira n’umutima wiwe wose, nzomushikana koko mu gihugu yagiyemwo, kandi uruvyaro rwiwe ruzocigarurira+. 25 Ko Abamaleki n’Abanyakanani+ baba mu kiyaya, ejo muzosubire inyuma mwerekeze mu bugaragwa, muciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura+.»
26 Maze Yehova abwira Musa na Aroni ati: 27 «Iri shengero ribi rizonyidogera gushika ryari+? Numvise ivyo Abisirayeli bariko baranyidogera+. 28 Babwire uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ndahiye ukubaho kwanje, ivyo nyene numvise muriko muravuga ni vyo nzobakorera+! 29 Imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa+, emwe abanditswe bose muri mwebwe bafise imyaka 20 kuduga, abo bose banyidogeye+. 30 Nta n’umwe muri mwebwe azokwinjira mu gihugu narahiye* ko nzobaha ngo mukibemwo+, kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.
31 Abana banyu mwavuze ngo bazogirwa imbohe+, ni bo nzokwinjiza muri ico gihugu kandi bazobona igihugu mwiyankishije+. 32 Ariko imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa. 33 Abana banyu bazomara imyaka 40 ari abungere mu bugaragwa+, kandi bazokwishura ikosa ryanyu kubera mwampemukiye*, gushika uwa nyuma muri mwebwe apfiriye mu bugaragwa+. 34 Nk’uko nyene mwamaze imisi 40 mugenzura ico gihugu+, muzomara imyaka 40 mwishura amakosa yanyu, umusi umwumwe uhure n’umwaka+. Muzoheza mumenye ico kungarariza* bisobanura.
35 Jewe Yehova navuze. Ibi ni vyo nzokorera iri shengero ribi, abo bose bakoraniye hamwe kundwanya: bazohonera muri ubu bugaragwa kandi ni ho bazopfira+. 36 Abagabo Musa yarungitse gusuma urusaku mu gihugu, hanyuma bagarutse bagatuma ishengero ryose rimwidodombera kubera bavuze nabi ico gihugu+, 37 emwe abo bagabo bavuze nabi ico gihugu bazohanwa bapfire imbere ya Yehova+. 38 Ariko Yosuwa mwene Nuni na Kalebu mwene Yefune bobo bazobandanya kubaho, naho bari mu bagiye kugenzura ico gihugu+.’”»
39 Musa amaze kubwira Abisirayeli ayo majambo, abantu bose baca barababara cane*. 40 Hanyuma bavyuka kare mu gitondo, bagerageza kuduga hejuru mu misozi, bavuga bati: «Twacumuye, ariko tugira tuje mu gihugu Yehova yadusezeraniye+.» 41 Mugabo Musa ababwira ati: «Kubera iki murenga kw’itegeko rya Yehova? Ntibizobagendera neza. 42 Ntimuduge kuko Yehova atari kumwe namwe. Abansi banyu bazobatsinda+. 43 Muzosanga Abamaleki n’Abanyakanani babarindiriye+ kandi bazobamarisha inkota. Ko mwanse gukurikira Yehova, Yehova na we ntazojana namwe+.»
44 Nuko baduga hejuru mu misozi n’akagagazo n’akantu+, ariko isandugu y’isezerano rya Yehova hamwe na Musa ntivyava mw’ikambi+. 45 Abamaleki n’Abanyakanani baba muri iyo misozi baca baramanuka kubarwanya, barabirukana gushika i Horuma+.
15 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwamara gushika mu gihugu ngira ndabahe ngo mukibemwo+, 3 hanyuma mugaha Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro mukuye mu bitungwa kugira ribe akamoto kamotera neza* Yehova+ (ryaba ari ishikanwa riturirwa+, ikimazi co gushitsa indagano idasanzwe, ishikanwa mutanga muvyishakiye+ canke iryo mutanga mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+), 4 uwuzoritanga akwiye kandi guha Yehova ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze+, ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta. 5 Nimba ari ishikanwa riturirwa+ canke ikimazi c’umwagazi w’intama*, muzobitangana n’umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa ungana n’ica kane c’ingero ya hini. 6 Nimba ari impfizi y’intama na ho, muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete ringana n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze, ivanze n’ica gatatu c’ingero ya hini y’amavuta. 7 Muzotanga kandi umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa ungana n’ica gatatu c’ingero ya hini, kugira ube akamoto kamotera neza Yehova.
8 Mugabo nimwashikanira Yehova impfizi y’inka y’ishikanwa riturirwa+ canke y’ikimazi co gushitsa indagano idasanzwe+ canke y’ikimazi co gusangira+, 9 muzoyitangana n’ishikanwa ry’intete+ ringana n’ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa y’ifu inoze, ivanze n’inusu y’ingero ya hini y’amavuta. 10 Muzotanga n’umuvinyu w’ishikanwa ry’ikinyobwa+ ungana n’inusu y’ingero ya hini kugira ube ishikanwa bashikanisha umuriro rimotera neza Yehova. 11 Ivyo ni vyo muzokora ku mpfizi yose y’inka canke y’intama no ku mwagazi wose w’intama canke w’impene. 12 Igitigiri ico ari co cose c’ibitungwa muzotanga, ukwo ni ko muzobigenza ku gitungwa kimwekimwe cose. 13 Ukwo ni ko Umwisirayeli wese w’imvukira akwiye guha Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto keza.
14 Umunyamahanga aba muri mwebwe canke amaze igihe kirekire abana namwe niyipfuza gutanga ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova, na we nyene azobigira nk’uko mubigenza+. 15 Mwebwe abagize ishengero hamwe n’umunyamahanga aba muri mwebwe muzogengwa n’itegeko rimwe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. Umunyamahanga azomera cokimwe namwe imbere ya Yehova+. 16 Hazobaho itegeko rimwe n’ingingo imwe kuri mwebwe no ku munyamahanga aba muri mwebwe.”»
17 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 18 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwashika mu gihugu ndabajanyemwo, 19 hanyuma mukarya ivyeze* muri co+, mutegerezwa guha intererano Yehova. 20 Muzotanga intererano y’imikate y’imizingi ikozwe mu ntete zijanjaguye z’ivyeze ubwa mbere*+. Muzoyitanga nka kurya kw’intererano ivuye mu vyimburwa bakubitiye ku mbuga*. 21 Muzokwama muha Yehova intererano mukuye ku ntete zijanjaguye z’ivyeze ubwa mbere*, uko urunganwe rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
22 Nivyashika mugakora ikosa ntimwubahirize amabwirizwa yose Yehova yahaye Musa, 23 (ibintu vyose Yehova yabategetse biciye kuri Musa, akabitegeka n’abazobakomokako, kuva umusi Yehova abibaha), 24 iryo kosa niryaba ryakozwe bivuye ku kwihenda kandi ishengero rikaba ritabimenye, ishengero ryose rizoca ritanga ishuri y’ishikanwa riturirwa ry’akamoto kamotera neza Yehova. Bazoritangana n’ishikanwa ry’intete be n’ishikanwa ry’ikinyobwa nk’uko bisabwa n’amategeko+, hamwe n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+. 25 Umuherezi azotangira impongano ishengero ryose ry’Abisirayeli, kandi bazobabarirwa+ kuko kuzoba kwabaye ukwihenda. Bisubiye, bazoba bazaniye Yehova ishikanwa bashikanisha umuriro, kandi bazoba bazanye imbere ya Yehova ishikanwa ry’igicumuro ku bw’ikosa bakoze. 26 Ishengero ryose ry’Abisirayeli n’umunyamahanga aba muri bo bazobabarirwa, kuko ihanga ryose rizoba ryakoze iryo kosa bivuye ku kwihenda.
27 Umuntu niyacumura bivuye ku kwihenda, azoca atanga impene ivyara y’ishikanwa ry’igicumuro+ imaze umwaka umwe canke udashika. 28 Umuherezi azotangira impongano uwo muntu yacumuye atabishaka imbere ya Yehova, kandi azobabarirwa+. 29 Ku bijanye n’igicumuro umuntu yakoze atabishaka, hazoba itegeko rimwe ku Mwisirayeli w’imvukira no ku munyamahanga aba muri mwebwe+.
30 Mugabo umuntu niyacumura n’ibigirankana+, yaba ari imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe, azoba asuzuguye* Yehova kandi ategerezwa kwicwa*. 31 Uwo muntu ategerezwa kwicwa kuko azoba yasuzuguye ijambo rya Yehova kandi akarenga kw’ibwirizwa ryiwe+. Ikosa ryiwe rizoja ku gatwe kiwe+.”»
32 Igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, hari umugabo basanze ariko arasenya kw’isabato+. 33 Abamubonye ariko arasenya baca bamuzanira Musa na Aroni n’ishengero ryose. 34 Baraheza bamushira aho acungirwa+, kuko amategeko atatomora neza ico bomugira.
35 Yehova aca abwira Musa ati: «Uwo mugabo ategerezwa gupfa+. Ishengero ryose nirimwicishe amabuye inyuma y’ikambi+.» 36 Ishengero ryose rica rimusohora inyuma y’ikambi, rimwicisha amabuye nk’uko Yehova yari yategetse Musa.
37 Yehova yongera kubwira Musa ati: 38 «Bwira Abisirayeli ko bakwiye gushira ubuyonga ku mushono wo hasi w’impuzu zabo kandi bakazungurutsa akagozi gasa n’ubururu haruguru y’uwo mushono+, uko urunganwe rwabo ruzogenda rurakurikirana. 39 “Impuzu zanyu zitegerezwa kuba ziriko umushono uriko ubuyonga kugira ngo muwubonye muce mwibuka amabwirizwa yose ya Yehova maze muyakurikize+. Ntimuze mukurikire imitima yanyu n’amaso yanyu kuko ari vyo bituma mumpemukira*+. 40 Ivyo bizotuma mwibuka amabwirizwa yanje yose mwongere muyakurikize kugira mube beranda imbere y’Imana yanyu+. 41 Ndi Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu Misiri kugira ndabereke ko ndi Imana yanyu+. Ndi Yehova Imana yanyu+.”»
16 Kora+ umuhungu wa Izihari+, Izihari umuhungu wa Kohati+, Kohati umuhungu wa Lewi+, arahaguruka ari kumwe na Datani na Abiramu abahungu ba Eliyabu+ hamwe na Oni umuhungu wa Peleti. Bose uko ari batatu bari abo mu muryango wa Rubeni+. 2 Batangura kurwanya Musa bari kumwe n’abagabo b’Abisirayeli 250, abagabo bahambaye, abakuru b’ishengero batowe ngo bariserukire. 3 Nuko bakoranira hamwe kugira barwanye+ Musa na Aroni, bababwira bati: «Ivyanyu turabihaze! Ishengero ryose ni ryeranda+, bose uko bangana, kandi Yehova ari hagati yabo+. Kuki none mwiduza hejuru y’ishengero rya Yehova?»
4 Musa avyumvise, aca arunama mu maso hashika hasi. 5 Hanyuma abwira Kora n’abamushigikiye bose ati: «Ejo mu gitondo Yehova azokwerekana uwumwegukira uwo ari we+. Azokwerekana uwuri mweranda n’uwukwiye kumwegera uwo wari we+. Uwo azotora+ ni we azomwegera. 6 Ubu rero nimugire gutya: Kora n’abagushigikiye+ nimutore udupanu tujamwo umuriro+, 7 hanyuma ejo muze mudushireko umuriro n’imibavu, muheze mubizane imbere ya Yehova. Uwo Yehova azotora+ ni we azoba ari mweranda. Mwarengeje urugero mwa bahungu ba Lewi+!»
8 Musa aca abwira Kora ati: «Nimunyumvirize mwa bahungu ba Lewi. 9 Mwibaza ko ari ibisanzwe kubona Imana ya Isirayeli yarabatoye mw’ishengero ry’Abisirayeli+, ikabemerera kuyegera kugira mukore ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova no kugira muhagarare imbere y’ishengero ngo murikorere+? 10 Mwibaza ko ari ibisanzwe kubona yarabemereye kuyegera, mwe na benewanyu bose, abahungu ba Lewi? None muriko murondera n’ubuherezi na bwo+? 11 Umenye rero ko wewe n’abagushigikiye bose muriko murwanya Yehova. Aroni ni iki aho mumwidogera+?»
12 Mu nyuma, Musa atumako Datani na Abiramu+ abahungu ba Eliyabu, mugabo bamwishura bati: «Ntituza! 13 Wadukuye mu gihugu gitemba amata n’ubuki utuzana gupfira muri ubu bugaragwa+. Ubu na ho ushaka kwigira umutware wacu ntayegayezwa*? Wibaza ko ivyo ari ibisanzwe? 14 Ca gihugu gitemba amata n’ubuki+ hamwe na ya matongo n’imirima y’imizabibu watwemerera biri hehe? Ushaka ko abo bagabo bagukurikira nk’impumyi*? Ntituza!»
15 Musa aca arashavura cane maze abwira Yehova ati: «Ntiwemere amashikanwa yabo y’intete. Nta ndogobwa yabo n’imwe nigeze ntwara, kandi nta n’umwe muri bo nagiriye nabi+.»
16 Hanyuma Musa abwira Kora ati: «Ejo uzoze imbere ya Yehova uri kumwe n’abagushigikiye bose hamwe na Aroni. 17 Umwe wese azotore agapanu kajako umuriro, agashireko imibavu aheze akazane imbere ya Yehova. Tuzoba ari udupanu 250, kandi na wewe na Aroni umwe wese azoba afise agapanu kiwe.» 18 Umwe wese rero afata agapanu kiwe, agashirako umuriro n’imibavu, hanyuma bahagarara ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro bari kumwe na Musa na Aroni. 19 Kora amaze kwegeranya abamushigikiye bose+ kugira bahangane na bo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ubuninahazwa bwa Yehova buca bubonekera ishengero ryose+.
20 Yehova aca abwira Musa na Aroni ati: 21 «Nimwitandukanye n’ako kagwi. Ngira ndabarandure mu kanya isase+.» 22 Baca barunama mu maso hashika hasi, maze bavuga bati: «Ewe Mana, Mana uha ubuzima abantu bose+, mbega umuntu umwe yocumura ugaca ushavurira ishengero ryose+?»
23 Yehova aca abwira Musa ati: 24 «Bwira ishengero ryose uti: “Nimuve iruhande y’amahema ya Kora na Datani na Abiramu+!”»
25 Musa aca aja kwa Datani na Abiramu, agenda ajanye n’abashingantahe+ bo muri Isirayeli. 26 Araheza abwira ishengero ati: «Ndabasavye muve iruhande y’amahema y’abo babisha, kandi ntihagire ikintu na kimwe cabo mukorako kugira ntimupfe kubera igicumuro cabo.» 27 Ubwo nyene baca bigira kure y’amahema ya Kora na Datani na Abiramu. Datani na Abiramu baca barasohoka, bahagarara ku bwinjiriro bw’amahema yabo bari kumwe n’abagore babo, abahungu babo n’abana babo batoyi.
28 Musa aca avuga ati: «Iki ni co kiza kubereka ko ari Yehova yantumye gukora ivyo bintu vyose, ko atari ivyo nibwira*: 29 Aba bantu nibapfa urupfu rusanzwe nk’urw’abantu bose, canke bakaronka igihano gisanzwe nk’ic’abantu bose, muce mumenya ko atari Yehova yantumye+. 30 Ariko Yehova niyabakorera ikintu c’akataraboneka, isi ikasama ikabamirana n’ibintu vyabo vyose, bakamanuka mu kuzimu ari bazima, muce mumenya ko aba bagabo bagaye Yehova.»
31 Agiheza kuvuga ayo majambo, aho bari bahagaze haca harasaduka+, 32 isi irasama irabamira bari kumwe n’imiryango yabo n’abari bashigikiye Kora bose+ n’ibintu vyabo vyose. 33 Bamanuka mu kuzimu ari bazima bari kumwe n’ababashigikiye bose. Isi irabapfuka, ntibasubira kuboneka mw’ishengero+. 34 Abisirayeli bari ng’aho bumvise induru yabo, baca barahunga kuko bibwira bati: «Isi ihava itumira natwe!» 35 Haca haza umuriro uvuye kuri Yehova+, urigata ba bagabo 250 bariko bashikana imibavu+.
36 Yehova aca abwira Musa ati: 37 «Bwira Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi akure mu muriro turya dupanu+ kuko ari tweranda. Mubwire kandi asanzaze uwo muriro kure. 38 Udupanu tw’abo bagabo bapfuye kubera bacumuye, mukwiye kudukoramwo utwuma dufyase two guhomeka ku gicaniro+. Ni tweranda kuko batuzanye imbere ya Yehova. Tuzobera imburi* Abisirayeli+.» 39 Eleyazari umuherezi aca atora twa dupanu tw’umujumbu twazanwa na ba bagabo baturirwa n’umuriro, araduhonda kugira aduhomeke ku gicaniro, 40 nk’uko Yehova yari yabimutegetse biciye kuri Musa. Ivyo vyokwibukije Abisirayeli ko umuntu wese atabifitiye uburenganzira*, ni ukuvuga uwutari uwo mu ruvyaro rwa Aroni, adakwiye guturira imibavu imbere ya Yehova+. Vyobibukije kandi ko badakwiye kumera nka Kora n’abamushigikiye+.
41 Bukeye, ishengero ryose ry’Abisirayeli rica ritangura kwidogera Musa na Aroni+, rivuga riti: «Ni mwe mwishe abantu ba Yehova.» 42 Ishengero rimaze gukoranira hamwe ngo rirwanye Musa na Aroni, baca barahindukira baraba kw’ihema ry’ibonaniro maze babona ca gicu caripfutse, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo buca butangura kuboneka+.
43 Musa na Aroni baca baja imbere y’ihema ry’ibonaniro+. 44 Maze Yehova abwira Musa ati: 45 «Nimuve muri iryo shengero kugira ndaritikize mu kanya isase+.» Baca barunama mu maso hashika hasi+. 46 Musa aca abwira Aroni ati: «Tora agapanu ugashireko umuriro ukuye ku gicaniro+ hamwe n’imibavu, uce unyarukira aho ikoraniro riri ubatangire impongano+ kuko Yehova yashavuye. Ikiza camaze gutangura!» 47 Aroni aca atora agapanu kajako umuriro nk’uko Musa yari amubwiye, hanyuma yiruka hagati y’ishengero, asanga ikiza camaze gutera mu bantu! Araheza ashira imibavu kuri ka gapanu, atangura kubatangira impongano. 48 Aguma ahagaze hagati y’imivyimba y’abapfuye n’abakiri bazima gushika ico kiza gihagaze. 49 Abishwe n’ico kiza bari 14.700, udashizemwo abapfuye kubera Kora. 50 Igihe Aroni yasubira aho Musa ari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ikiza cari camaze guhagarara.
17 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Bwira Abisirayeli bakuzanire inkoni imwimwe ku muryango, bazihawe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo+. Zose hamwe zizoba ari inkoni 12. Uzoca wandika izina ry’umwumwe wese ku nkoni yiwe. 3 Uzokwandika izina rya Aroni ku nkoni ya Lewi, kuko ari inkoni imwimwe ku mukuru w’umuryango. 4 Uzoca ushira izo nkoni mw’ihema ry’ibonaniro imbere y’isandugu y’isezerano*+, hamwe nama ndabiyerekera+. 5 Inkoni y’uwo nzotora+ izonaga. Ukwo ni ko nzorangiza imyidogo Abisirayeli banyidogera+, bakidogera na mwebwe+.»
6 Musa aca abibwira Abisirayeli hanyuma abakuru bose bamuzanira inkoni zabo. Umukuru wese w’umuryango amuha inkoni imwe, zose ziba 12 ushizemwo n’iya Aroni. 7 Musa araheza ashira izo nkoni imbere ya Yehova mw’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*.
8 Bukeye, Musa yinjira muri rya hema ririmwo isandugu y’isezerano, asanga inkoni ya Aroni yatanzwe n’umuryango wa Lewi yanaze. Yari yanaze, iriko amashurwe na shakedi zihiye. 9 Musa aca akura izo nkoni zose imbere ya Yehova azizana aho Abisirayeli bose bari. Baraziraba hanyuma umukuru wese atora inkoni yiwe.
10 Yehova aca abwira Musa ati: «Subiza inkoni ya Aroni+ imbere y’isandugu y’isezerano*. Yibike kugira ibere imburi+ abafise agatima ko kugarariza+, kugira ntibasubire kunyidogera bigatuma bapfa.» 11 Ubwo nyene Musa aca akora ivyo Yehova amutegetse. Abikora gutyo nyene.
12 Abisirayeli baca babwira Musa bati: «Noneho turapfuye! Emwe, turahonye! Tugira duherengetere twese! 13 Uwuhirahiye akegera ihema ryeranda rya Yehova aca apfa+! None twese tugiye gupfa duhone+?»
18 Maze Yehova abwira Aroni ati: «Wewe n’abahungu bawe hamwe n’umugwi ugizwe n’imiryango yanyu ni mwe muzobazwa ikosa ryose rikorewe ahantu heranda+. Wewe n’abahungu bawe ni mwe muzobazwa ikosa ryose rijanye n’igikorwa c’ubuherezi+. 2 Vyongeye, nuzane hafi benewanyu bo mu muryango wa Lewi, umuryango wa ba sokuru bawe, kugira babafashe ibikorwa+ mwe n’abahungu bawe, imbere y’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*+. 3 Bazokora ibikorwa ubajeje hamwe n’ibikorwa vyose vyo kw’ihema+, ariko ntibakwiye kwegera ibikoresho vy’ahantu heranda n’igicaniro kugira ntibapfe canke ngo namwe mupfe+. 4 Bazokwifatanya namwe, bakore ibikorwa vyose bajejwe kw’ihema ry’ibonaniro. Umuntu wese atabifitiye uburenganzira* ntakwiye kubegera+. 5 Mutegerezwa gushitsa ivyo mujejwe ku bijanye n’ahantu heranda+ be n’igicaniro+ kugira sinsubire gushavurira+ Abisirayeli. 6 Narakugabiye benewanyu b’Abalewi ndabakuye mu bandi Bisirayeli+. Bahawe Yehova kugira bakore ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro+. 7 Wewe n’abahungu bawe ni mwe mujejwe ibikorwa vy’abaherezi bijanye n’igicaniro hamwe n’ibiri inyuma y’irido*+. Ni mwe muzobikora+. Narabahaye igikorwa c’ubuherezi, kandi umuntu wese atabifitiye uburenganzira azokwegera ihema ryeranda ategerezwa gupfa+.»
8 Yehova yongera kubwira Aroni ati: «Ndakujeje intererano mpabwa+. Wewe n’abahungu bawe narabahaye umugabane wamaho uvuye ku bintu vyeranda vyose Abisirayeli batanga+. 9 Ku mashikanwa meranda cane bashikanisha umuriro, ibi ni vyo bizoba rwanyu: amashikanwa yose banzanira, ni ukuvuga amashikanwa y’intete+, amashikanwa y’igicumuro+ n’ayo kwagirwa n’icaha+. Ni ikintu ceranda cane kuri wewe n’abahungu bawe. 10 Mukwiye kubirira ahantu heranda cane+. Umuhungu wese arashobora kubirya. Bizoba ari ikintu ceranda kuri mwebwe+. 11 N’ibi nyene ni rwanyu: ingabire Abisirayeli batanga+ be n’amashikanwa yose bazungagiza+. Ni umugabane wamaho nahaye wewe n’abahungu bawe hamwe n’abakobwa bawe+. Umuntu wese adahumanye mu rugo rwawe arashobora kubiryako+.
12 Amavuta mezameza yose, umuvinyu mushasha mwizamwiza n’intete nzizanziza, ni ukuvuga ivyeze ubwa mbere*+ bashikanira Yehova, ndabibahaye+. 13 Ibintu vyose vyeze ubwa mbere mu gihugu cabo bazozanira Yehova bizoba rwanyu+. Umuntu wese adahumanye mu rugo rwawe arashobora kubiryako.
14 Ikintu cose ceguriwe Imana* muri Isirayeli kizoba rwanyu+.
15 Imfura zose n’ibitungwa vyose bivutse ubwa mbere+ bazoshikanira Yehova bizoba rwanyu. Ariko rero, utegerezwa kwakira amahera yo gucungura imfura zose+ n’ibitungwa vyose bihumanye vyavutse ubwa mbere+. 16 Igihe imfura ishikanye ukwezi kumwe canke kurenga, uzokwakira amahera yo kuyicungura angana n’igiciro cashinzwe ca shekeli* zitanu z’ifeza+, wisunze shekeli y’akarorero y’aheranda*. Shekeli imwe ingana na gera* 20. 17 Ariko ishuri hamwe n’isuguru y’intama canke y’impene bivutse ubwa mbere ntibizocungurwa+. Ni vyeranda. Amaraso yavyo uzoyamijagira ku gicaniro+, ibinure vyavyo na vyo ubiturire bifumbe umwotsi, bibe ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova+. 18 Inyama zavyo zizoba rwanyu nka kurya kw’akameme* k’ishikanwa bazungagiza hamwe n’itako ry’ukuryo+. 19 Intererano nyeranda zose Abisirayeli bazanira Yehova+ nazihaye wewe n’abahungu bawe hamwe n’abakobwa bawe. Ni umugabane wanyu wamaho+. Ni isezerano ryamaho* hagati ya Yehova na wewe be n’uruvyaro rwawe.»
20 Yehova abandanya kubwira Aroni ati: «Ntuzotorana mu gihugu cabo kandi nta mugabane uzoronka muri bo+. Ni jewe ndi umugabane wawe n’intoranwa yawe mu Bisirayeli+.
21 Abalewi na bo ndabahaye ic’icumi+ c’ivyimburwa vyose muri Isirayeli. Ni umugabane* wabo ku bw’ibikorwa bakora kw’ihema ry’ibonaniro. 22 Abisirayeli ntibaze basubire kwegera ihema ry’ibonaniro, kuko bohava bacumura bigatuma bapfa. 23 Abalewi ni bo bazokora ibikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro, kandi ni bo bazobazwa amakosa abantu bazokora+. Ntibazotorana mu Bisirayeli: iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana+. 24 Ic’icumi Abisirayeli bashikanira Yehova ni yo ntoranwa nahaye Abalewi. Ni co gituma navuze nti: “Ntibakwiye gutorana mu Bisirayeli+.”»
25 Maze Yehova abwira Musa ati: 26 «Bwira Abalewi uti: “Abisirayeli bazobaha ic’icumi nabatse kugira kibe umugabane wanyu+. Namwe muzoca muha Yehova intererano ingana n’ic’icumi caco+. 27 Kizofatwa nk’intererano mutanze, nk’aho zoba ari intete mukuye ku mbuga*+ canke umuvinyu n’amavuta mwaganiye mu bwato, mubikuye mu mwimbu wanyu w’umusesekara. 28 Ukwo ni ko namwe muzoha intererano Yehova, muyikuye mu vy’icumi vyose Abisirayeli babaha. Aroni umuherezi ni we muzoshikiriza intererano ya Yehova mukuye kuri ivyo vy’icumi. 29 Ivyo bintu vyizavyiza vyose muzoba mwahawe+ nk’intererano nyeranda muzobikurako intererano muha Yehova.”
30 Uze ubabwire uti: “Nimwamara guterera ibintu vyizavyiza mu vyo mwahawe, ibisigaye bizoca bibegukira mwebwe Abalewi, bifatwe nk’umwimbu uvuye ku mbuga yanyu canke umuvinyu n’amavuta mwaganiye mu bwato. 31 Wewe n’abo mu rugo rwawe murashobora kubirira aho ari ho hose, kuko ari impembo yanyu ku bw’ibikorwa murangura kw’ihema ry’ibonaniro+. 32 Muze mutange ibintu vyizavyiza mu vyo muzoba mwahawe kugira ntimwagirwe n’icaha. Ntimukwiye guhumanya ibintu vyeranda vy’Abisirayeli, ahandiho mwopfa+.”»
19 Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati: 2 «Iri ni ryo tegeko jewe Yehova ntanze: “Bwira Abisirayeli bakuzanire inka y’ibara ry’akagajo itagira akanenge+ kandi batarikoreza umutwaro*. 3 Muzoyiha Eleyazari umuherezi, na we ace ayijana hanze y’ikambi hanyuma ibagirwe imbere yiwe. 4 Eleyazari umuherezi azoca atora makeyi ku maraso yayo akoresheje urutoke, ayamijagire incuro indwi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 5 Iyo nka bazoca bayiturira abona. Urushato rwayo, inyama zayo, amaraso yayo n’amayezi yayo vyose bizoturirwa+. 6 Umuherezi azoca atora igiti c’isederi, uduti twa ezobu n’igitambara gisa n’agahama, abiterere mu muriro uriko uraturira iyo nka. 7 Azoheza amese impuzu ziwe hanyuma yiyoge, abone kwinjira mw’ikambi. Ariko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba.
8 Uwaturiye iyo nka na we nyene azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.
9 Umugabo adahumanye azokwegeranya umunyota w’iyo nka+, awutware inyuma y’ikambi mu kibanza kidahumanye. Ishengero ry’Abisirayeli rizoca riwubika kugira baze barawuvanga n’amazi bakoresha mu guhumanura+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 10 Uwegeranije umunyota w’iyo nka azomesa impuzu ziwe, hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.
Iryo ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli no ku munyamahanga aba muri bo+. 11 Umuntu wese akoze ku kiziga c’umuntu azomara imisi indwi ahumanye+. 12 Uwo muntu azokwihumanuza ayo mazi ku musi ugira gatatu, aheze abe uwudahumanye ku musi ugira indwi. Ariko natihumanura ku musi ugira gatatu, ntazoba uwudahumanye ku musi ugira indwi. 13 Umuntu wese akoze ku kiziga ariko ntiyihumanure, azoba ahumanije ihema ryeranda rya Yehova+ kandi ategerezwa kwicwa*+. Azoguma ahumanye kuko atazoba yamijagiwe amazi bakoresha mu guhumanura+. Ubuhumane bwiwe buzomugumako.
14 Iri ni ryo tegeko rijanye n’umuntu apfiriye mw’ihema: umuntu wese yinjiye muri iryo hema canke uwari asanzwe ari muri ryo, azomara imisi indwi ahumanye. 15 Igikoresho cose gipfunduruye, kitariko umufuniko uboshe n’umugozi, kizoba gihumanye+. 16 Umuntu wese ari mu gahinga azokora ku muntu yicishijwe inkota, ku kiziga, ku magufa y’uwapfuye canke ku mva, azomara imisi indwi ahumanye+. 17 Kugira bahumanure uwo muntu, bazoshira mu gikoresho umunyota mukeyi uvuye kuri rya shikanwa ry’igicumuro baturira, hanyuma bawusukemwo amazi bavomye ku mugezi. 18 Umugabo adahumanye+ azoca atora uduti twa ezobu, atujobeke muri ayo mazi aheze ayamijagire kuri iryo hema, ku bikoresho vyose, ku bantu bari ng’aho no kuri uwo muntu yakoze ku magufa y’uwapfuye, ku wishwe n’inkota, ku kiziga canke ku mva. 19 Uwo mugabo adahumanye azoyamijagira kuri uwo muntu ahumanye ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi, aheze amutyorore igicumuro ciwe ku musi ugira indwi+. Uwo muntu ahumanye azoca amesa impuzu ziwe, yiyoge aheze abe uwudahumanye ku mugoroba.
20 Ariko umuntu niyaba ahumanye mugabo ntiyihumanure, abwirizwa kwicwa*+ kuko azoba yahumanije ahantu heranda ha Yehova. Azoba ahumanye kuko atazoba yamijagiwe amazi bakoresha mu guhumanura.
21 Iri ni itegeko ryamaho kuri bo: uwumijagiye amazi bakoresha mu guhumanura+ ategerezwa kumesa impuzu ziwe, kandi uwukoze kuri ayo mazi azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 22 Ikintu cose uwo muntu ahumanye akozeko kizoca kiba igihumanye, kandi uwukoze kuri ico kintu azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+.”»
20 Mu kwezi kwa mbere, ishengero ryose ry’Abisirayeli rishika mu bugaragwa bwa Zini, maze abantu batangura kuba i Kadeshi+. Aho ni ho Miriyamu+ yapfiriye kandi ni ho bamuhamvye.
2 Ariko aho hantu nta mazi yariho ishengero ryokoresha+. Abantu rero baca bakoranira hamwe, bagarariza Musa na Aroni. 3 Batangura gushwanira Musa+, bamubwira bati: «Iyo dupfuma dupfa igihe benewacu bapfira imbere ya Yehova! 4 Mbega mwazanye ishengero rya Yehova muri ubu bugaragwa kugira dupfire ng’aha n’ibitungwa vyacu+? 5 Kuki mwadukuye mu Misiri mukatuzana muri uku kuzimu+? Nta kintu na kimwe wohatera. Nta nsukoni zihari, nta mizabibu, nta makomamanga nta n’amazi yo kunywa ahari+.» 6 Musa na Aroni baca bava imbere y’ishengero, baza ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, maze barunama mu maso hashika hasi. Ubuninahazwa bwa Yehova buca butangura kubabonekera+.
7 Yehova abwira Musa ati: 8 «Tora ya nkoni hanyuma wewe na Aroni mwenewanyu mukoranye ishengero, muheze mubwire igitandara babona kugira kizane amazi. Muzobakurira amazi mu gitandara maze muyahe ishengero n’ibitungwa vyabo kugira binywe+.»
9 Musa aca atora ya nkoni imbere ya Yehova+ nk’uko yari amutegetse. 10 Musa na Aroni baca bakoraniriza ishengero imbere y’ico gitandara, maze Musa ababwira ati: «Umviriza mwa bagarariji mwe! Mushaka ko tubakurira amazi muri iki gitandara+?» 11 Musa aca aduza ukuboko, akubita inkoni ico gitandara incuro zibiri. Haca haza amazi menshi, ishengero rica ritangura kuyanywa hamwe n’ibitungwa vyabo+.
12 Mu nyuma, Yehova abwira Musa na Aroni ati: «Kubera yuko mutanyizeye ngo mwerekane ko ndi mweranda imbere y’Abisirayeli, ntimuzokwinjiza iri shengero mu gihugu nzobaha+.» 13 Ayo ni ya mazi y’i Meriba*+, hamwe Abisirayeli bidogera* Yehova ku buryo abereka ko ari mweranda.
14 Mu nyuma Musa ari i Kadeshi, atuma intumwa ku mwami wa Edomu+ ngo zimubwire ziti: «Mwenewanyu Isirayeli+ avuze ati: “Urazi neza ingorane zose twaciyemwo. 15 Ba sokuru bacu baragiye mu Misiri+ kandi twaramaze imyaka* myinshi+ tuba mu Misiri. Ariko Abanyamisiri baradufashe nabi twe na ba sokuru bacu+. 16 Twahavuye dutakambira Yehova+, na we aratwumva. Yaciye arungika umumarayika wiwe+ adukura mu Misiri, none ubu tugeze i Kadeshi, igisagara kiri ku rubibe rw’akarere kawe. 17 Turakwinginze utureke duce mu gihugu cawe. Ntituzoca mu mirima yanyu canke mu mizabibu yanyu, kandi nta mazi yo mu binogo vyanyu tuzonywa. Tuzojana ibarabara ry’umwami kandi ntituzokatira iburyo canke ibubamfu, gushika turenganye akarere kawe+.”»
18 Ariko umwami wa Edomu amwishura ati: «Ntimuce mu karere kacu. Mukahaca nzoza kubategera n’inkota.» 19 Abisirayeli bamwishura bati: «Tuzodugana ibarabara rikuru*, kandi twe n’ibitungwa vyacu nitwanywa amazi yanyu tuzoyariha+. Nta kindi dushaka atari ukwirenganira n’amaguru+.» 20 Na we yishura ati: «Ntimuhace+!» Umwami wa Edomu aca aza kubatera ari kumwe n’isinzi ry’abantu hamwe n’igisoda* gikomeye. 21 Nuko umwami wa Edomu yankira Abisirayeli guca mu karere kiwe. Abisirayeli baca barakata baramubisa+.
22 Ishengero ryose ry’Abisirayeli rica riva i Kadeshi hanyuma rishika ku musozi Hori+. 23 Yehova rero avugana na Musa na Aroni bari ku musozi Hori, hafi y’urubibe rw’igihugu ca Edomu, ababwira ati: 24 «Aroni agira apfe ahamvye ab’iwabo*+. Ntazokwinjira mu gihugu nzoha Abisirayeli, kuko mwagararije itegeko nabahaye ku bijanye na ya mazi y’i Meriba+. 25 Tora Aroni n’umuhungu wiwe Eleyazari ubadugane ku musozi Hori. 26 Uzoca wambura Aroni impuzu ziwe+ hanyuma uzambike umuhungu wiwe Eleyazari+. Aroni azoca apfira ng’aho.»
27 Musa aca akora ivyo Yehova amutegetse, baduga umusozi Hori ishengero ryose ribona. 28 Musa araheza yambura Aroni impuzu ziwe, azambika Eleyazari umuhungu wiwe. Inyuma y’ivyo, Aroni apfira ng’aho kw’isonga ry’umusozi+. Musa na Eleyazari baca baramanuka bava kuri uwo musozi. 29 Ishengero ryose ry’Abisirayeli ribonye ko Aroni yapfuye, rica rimara imisi 30 rimuririra+.
21 Umwami wa Aradi+, Umunyakanani yaba i Negebu, yumvise ko Abisirayeli bari bazananye inzira y’i Atarimu, aca aja kubatera, agira imbohe bakeyi muri bo. 2 Abisirayeli baca basezeranira Yehova bati: «Niwadufasha gutsinda aba bantu, ibisagara vyabo tuzobitikiza ata gisivya.» 3 Yehova aca yemera ivyo Abisirayeli bamusavye, abafasha gutsinda Abanyakanani. Baca barabatikiza hamwe n’ibisagara vyabo. Ni co gituma aho hantu bahise Horuma*+.
4 Nuko babandanya urugendo bavuye ku musozi Hori+, bajana inzira yerekeza ku kiyaga Gitukura kugira bakwepe igihugu ca Edomu+. Abantu rero batangura kuruha kubera urugendo. 5 Baguma bidogera Imana na Musa+, bavuga ngo: «Mbega mwadukuye mu Misiri kugira dupfire muri ubu bugaragwa? Nta vyo kurya n’amazi bihari+, kandi n’uyu mukate ugayitse usigaye udushisha+.» 6 Yehova aca abarungikamwo inzoka z’ubumara*. Ziguma zibakomora ku buryo Abisirayeli benshi bapfa+.
7 Abantu baca baza aho Musa ari, bamubwira bati: «Twacumuye kuko twidodombeye Yehova na wewe+. Takambira Yehova adukurireho izi nzoka.» Musa aca atakambira Imana+. 8 Maze Yehova amubwira ati: «Kora igishusho c’inzoka y’ubumara isa n’izo hanyuma ukimanike ku giti. Inzoka rero niyakomora umuntu, azoca araba kuri ico gishusho kugira ntapfe.» 9 Ubwo nyene Musa aca akora inzoka y’umujumpu+ ayimanika ku giti+. Igihe cose inzoka ikomoye umuntu agaca araba iyo nzoka y’umujumpu, ntiyaba agipfuye+.
10 Hanyuma Abisirayeli baragenda maze bakambika i Oboti+. 11 Bava i Oboti maze bakambika ahitwa Iye-Abarimu+ mu bugaragwa burabana n’i Mowabu, amaja mu buseruko. 12 Bava ng’aho maze bakambika hafi y’umwonga* wa Zeredi+. 13 Hanyuma bava ng’aho bakambika mu karere ka Arunoni+ kari mu bugaragwa butangurira ku rubibe rw’Abamori. Arunoni ni rwo rubibe rutandukanya Abanyamowabu n’Abamori. 14 Ni co gituma igitabu c’Intambara za Yehova kivuga ivyerekeye «Vahebu mu karere ka Sufa n’imibande* ya Arunoni, 15 be n’umumanuko w’imibande ugenda werekeza mu gisagara ca Ari, ugashika ku rubibe rwa Mowabu.»
16 Mu nyuma bagenda i Beri. Aho ni ho hari iriba kandi ni ho Yehova yabwiriye Musa ati: «Koranya abantu ndabahe amazi.»
17 Ico gihe ni ho Abisirayeli baririmba bati:
«Dudubiza wa riba we! (Nimwitabire*!)
18 Iriba ryimbwe n’abaganwa, iry’abanyacubahiro bimvye,
bakoresheje inkoni ya kizigenza, bakoresheje inkoni zabo.»
Hanyuma bava mu bugaragwa baja i Matana. 19 Baca bava i Matana baja i Nahaliyeli, hanyuma bava i Nahaliyeli baja i Bamoti+. 20 Mu nyuma bava i Bamoti baja mu mubande uri mu karere ka Mowabu+, kw’isonga ry’umusozi Pisiga+ urabana n’i Yeshimoni*+.
21 Abisirayeli rero barungika intumwa kubwira Sihoni umwami w’Abamori bati+: 22 «Tureke duce mu gihugu cawe. Ntituzokatira mu mirima yanyu canke mu mizabibu yanyu, kandi nta mazi yo mu binogo vyanyu tuzonywa. Tuzojana ibarabara ry’umwami gushika turenganye akarere kawe+.» 23 Ariko Sihoni ntiyemerera Abisirayeli guca mu karere kiwe. Aca akoranya igisoda ciwe cose aja kubatera mu bugaragwa. Ashitse i Yahazi, aca atangura kurwana na bo+. 24 Ariko Abisirayeli baramutsinda, bicisha inkota+ abasoda biwe. Baca bigarurira igihugu ciwe+ kuva ku mubande wa Arunoni+ gushika ku mwonga wa Yaboki+, hafi y’Abamoni. Mugabo ntibarenganye i Yazeri+, kuko Yazeri yahana urubibe n’akarere k’Abamoni+.
25 Abisirayeli rero bigarurira ivyo bisagara vyose, batangura kuba mu bisagara vyose vy’Abamori+, harimwo na Heshiboni n’udusagara tuhegukira*. 26 Heshiboni cari igisagara ca Sihoni umwami w’Abamori. Sihoni yari yararwanye n’umwami wa Mowabu maze yigarurira igihugu ciwe cose gushika ku mubande wa Arunoni. 27 Aho ni ho havuye iyi mvugo y’agahemo ngo:
«Nimuze i Heshiboni!
Igisagara ca Sihoni nicubakwe, gikomere cane!
28 Kuko umuriro wavuye i Heshiboni, urubeya rukava mu gisagara ca Sihoni.
Rwarayogeje Ari h’i Mowabu, abatware bo mu misozi y’i Arunoni.
29 Ewe Mowabu uragowe! Murayogeye bantu ba Kemoshi+!
Abahungu biwe abagira* impunzi, abakobwa biwe akabagira imbohe za Sihoni umwami w’Abamori.
30 Reka tubarase imyampi.
Heshiboni hazotikira gushika i Diboni+.
Reka tuhageseze gushika i Nofahi.
Umuriro uzorandagata gushika i Medeba+.»
31 Abisirayeli rero batangura kuba mu gihugu c’Abamori. 32 Maze Musa atuma abantu gusuma urusaku* i Yazeri+. Nuko Abisirayeli bigarurira udusagara tuhegukira, baraheza birukana Abamori babayo. 33 Baca basubira inyuma badugana inzira ija i Bashani. Ogi+ umwami wa Bashani aca azanana n’ingabo ziwe zose, aja kubatera i Edireyi+. 34 Yehova aca abwira Musa ati: «Ntumutinye+. Nzogufasha kumutsinda n’ingabo ziwe nongere ndaguhe igihugu ciwe+. Uzomugira nk’uko wagize Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni+.» 35 Nuko bamwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose, gushika aho ata n’umwe asigara+. Baraheza bigarurira igihugu ciwe+.
22 Hanyuma Abisirayeli baragenda maze bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, hakurya y’uruzi Yorodani uvuye i Yeriko+. 2 Balaki+ umuhungu wa Zipori yumvise ibintu vyose Abisirayeli bakoreye Abamori, 3 Abanyamowabu baca baratinya cane Abisirayeli kuko bari benshi cane. Emwe, baratekerwa n’ubwoba kubera bo+. 4 Abanyamowabu baca babwira abashingantahe b’i Midiyani+ bati: «Iri sinzi rizorigata igihugu cacu nka kurya impfizi y’inka irigata ubwatsi.»
Ico gihe Balaki umuhungu wa Zipori yari umwami wa Mowabu. 5 Balaki aca arungika intumwa kuri Balamu umuhungu wa Beyori i Petori+, hafi ya rwa ruzi runini* rwo mu gihugu ciwe c’amavukiro. Abatuma kumubwira bati: «Hari abantu baje bavuye mu Misiri. Bakubise isi* yose irazima+ kandi bakambitse neza na neza imbere yanje. 6 Ndagusavye rero uze ubamvumire+ kuko bakomeye kunsumvya. Hari aho nobanesha nkabirukana mu gihugu. Ndazi neza ko uwo uhezagiye aba ahezagiwe, kandi n’uwo uvumye aba avumwe.»
7 Abashingantahe b’i Mowabu n’ab’i Midiyani baca bafata urugendo, baja kwa Balamu+ bitwaje impembo* yiwe, baraheza bamubwira ivyo Balaki yabatumye. 8 Na we abishura ati: «Nimurare ng’aha iri joro, nanje nzobabwira ico Yehova azoba yambwiye cose.» Abo baganwa b’i Mowabu baca barara kwa Balamu.
9 Imana iraheza ibonekera Balamu, imubaza iti+: «Abo bagabo bari aho iwawe ni bande?» 10 Balamu yishura Imana y’ukuri ati: «Balaki umuhungu wa Zipori, umwami wa Mowabu, yantumyeko ati: 11 “Hari abantu baje bava mu Misiri kandi bakubise isi yose irazima. Ingo rero ubamvumire+. Hari aho noshobora kubarwanya nkabirukana.”» 12 Ariko Imana ibwira Balamu iti: «Ntujane na bo, kandi ntuvume abo bantu kuko nabahezagiye+.»
13 Balamu aca avyuka mu gitondo, abwira ba baganwa batumwa na Balaki ati: «Subira mu gihugu iwanyu, kuko Yehova yanyankiye ko tujana.» 14 Abo baganwa b’i Mowabu baca basubira kwa Balaki, bamubwira bati: «Balamu yanse ko tuzanana.»
15 Ariko Balaki aca arungika abandi baganwa benshi kandi barusha icubahiro bamwe ba mbere. 16 Baza kwa Balamu maze bamubwira bati: «Balaki umuhungu wa Zipori adutumye ati: “Ndagusavye ntihagire ikikubuza kuza. 17 Nzogutera iteka bimwe bikomeye, kandi ico uzombwira cose nzogikora. Ntabara uze umvumire aba bantu.”» 18 Balamu yishura abo basuku ba Balaki ati: «Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinshobora gukora ikintu na kimwe gitandukanye n’itegeko rya Yehova Imana yanje, caba gitoyi canke kinini+. 19 Mugabo nimurare ng’aha iri joro, numve ko hari ikindi Yehova ambwira+.»
20 Maze Imana ibonekera Balamu mw’ijoro, imubwira iti: «Nimba aba bantu bazanywe no kuguhamagara, nimujane. Ariko uzovuge ivyo nzokubwira gusa+.» 21 Balamu aca avyuka kare mu gatondo, ategura indogobwa* yiwe, araheza ajana n’abo baganwa b’i Mowabu+.
22 Imana ica irarungura n’ishavu kubera agiye. Umumarayika wa Yehova aca ahagarara mu nzira kugira amutangire. Balamu yariko agendera ku ndogobwa, kandi yari kumwe n’abasuku biwe babiri. 23 Iyo ndogobwa ibonye umumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira afise inkota mu minwe, ica ishaka kuva mu nzira ngo ikatire mu murima. Balamu aca atangura kuyikubita kugira igaruke mu nzira. 24 Hanyuma uwo mumarayika wa Yehova aragenda, ahagarara mu kayira gakikujwe n’impome z’amabuye gaca hagati y’imirima ibiri y’imizabibu. 25 Iyo ndogobwa ibonye uwo mumarayika wa Yehova, ica yibanda ku ruhome maze ifyondera ukuguru kwa Balamu kuri rwo. Balamu aca asubira kuyikubita.
26 Umumarayika wa Yehova aca asubira kubarengana, ahagarara ahantu haga mu kayira, ku buryo bitokunda ko umuntu akatira iburyo canke ibubamfu. 27 Iyo ndogobwa ibonye uwo mumarayika wa Yehova, ica iryama hasi Balamu ayicayeko. Balamu aca arashavura, aguma ayikubitagura inkoni yiwe. 28 Vyakabaye kera, Yehova atuma iyo ndogobwa ivuga*+ maze ibaza Balamu iti: «Nagukoreye iki ku buryo unkubita izi ncuro zitatu zose+?» 29 Balamu ayishura ati: «Ni kubera uriko umfata nk’ikijuju. Iyaba mfise inkota nari kukwica!» 30 Iyo ndogobwa ica ibwira Balamu iti: «Mbega sindi indogobwa yawe wamye ugenderako gushika uno musi? Hari ibintu nk’ibi nari bwakugirire?» Na we ayishura ati: «Oya!» 31 Yehova aca yugurura amaso ya Balamu+, abona uwo mumarayika wa Yehova ahagaze mu nzira, yasokoye inkota ayifise mu minwe. Ubwo nyene Balamu aca arunama, mu maso hashika hasi.
32 Umumarayika wa Yehova aca amubwira ati: «Kubera iki wakubise indogobwa yawe izo ncuro zitatu zose? Jewe ubwanje ni je naje kugutangira, kuko ugiye gukora ibihushanye n’ivyo ngomba*+. 33 Iyo ndogobwa yambonye ica igerageza kumpunga izo ncuro zitatu zose+. Iyo itaba yampunze, mba nakwishe ariko yo nkayireka.» 34 Balamu aca yishura uwo mumarayika wa Yehova ati: «Nacumuye. Sinari nzi ko ari wewe uhagaze mw’ibarabara kugira untangire. Nimba ubona ari bibi, reka nsubire inyuma.» 35 Ariko umumarayika wa Yehova amwishura ati: «Jana n’abo bagabo ariko uzovuge ivyo nzokubwira gusa.» Nuko Balamu abandanya urugendo ari kumwe n’abo baganwa batumwe na Balaki.
36 Balaki yumvise ko Balamu yaje, aca aja kumusanganira mu gisagara ca Mowabu. Ico gisagara cari ku nkengera ya Arunoni, ku rubibe rw’akarere ka Mowabu. 37 Balaki abaza Balamu ati: «Kubera iki nagutumyeko ntuze? Wibaza ko ntashoboye kugutera iteka bihagije+?» 38 Balamu amwishura ati: «Ari ukuza naje. Ariko ntugire ngo nzovuga ivyo nigombeye. Nzovuga ivyo Imana imbwiye gusa+.»
39 Balamu rero aca ajana na Balaki, bashika i Kiriyati-Huzoti. 40 Balaki araheza ashikana inka n’intama, aca afata bimwebimwe abirungikira Balamu n’abaganwa bari kumwe na we. 41 Bukeye mu gitondo, Balaki ahitana Balamu maze amudugana i Bamoti-Bayali, aho yashobora kubona abo bantu bose+.
23 Balamu aca abwira Balaki ati: «Nyubakira ng’aha ibicaniro indwi+, untegurire impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi.» 2 Ubwo nyene Balaki aca akora ivyo Balamu amubwiye. Hanyuma Balaki na Balamu bashikana impfizi yʼinka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+. 3 Balamu aca abwira Balaki ati: «Sigara ng’aho iruhande y’ishikanwa riturirwa ryawe, jewe ngiye harya hirya gatoyi. Hari aho Yehova yombonekera. Ico ambwira cose ndakikumenyesha.» Aca ava ng’aho agenda hejuru ku gasozi.
4 Hanyuma Imana ibonekera Balamu+, na we ayibwira ati: «Natondetse ibicaniro indwi, kandi nashikanye impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose.» 5 Yehova aca ategeka Balamu+ ivyo akwiye kuvuga*, maze amubwira ati: «Subira kwa Balaki, kandi ivyo abe ari vyo umubwira.» 6 Aca asubira inyuma, asanga Balaki n’abaganwa b’i Mowabu bose bahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe. 7 Maze Balamu avuga ati+:
«Balaki umwami wa Mowabu yankuye i Aramu+,
mu misozi yo mu buseruko, maze ambwira ati:
“Ingo umvumire Yakobo.
Emwe, ingo untukire Isirayeli+.”
8 Nokwubahuka gute kuvuma abo Imana itavumye?
Nokwubahuka gute gutuka abo Yehova atatutse+?
9 Ndababona ndi hejuru ku bitandara,
nkabitegereza ndi hejuru ku mitumba.
Icompa nkipfira urupfu rw’abagororotsi,
iherezo ryanje rikamera nk’iryabo.»
11 Balaki aca abwira Balamu ati: «Ivyo unkoreye ni ibiki? Nakuzanye kugira umvumire abansi, ariko raba wishinga kubahezagira+.» 12 Na we amwishura ati: «None ivyo Yehova antegetse si vyo mvuga+?»
13 Balaki aca amubwira ati: «Ndakwinginze uze tujane ahandi ushobora kubabona. Uza kubona igice cabo gusa, ntubabona bose. Uheze ubamvumire uri ng’aho+.» 14 Aca amujana mu murima wa Zofimu, hejuru ku musozi wa Pisiga+. Araheza yubaka ibicaniro indwi, maze ashikana impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+. 15 Balamu rero abwira Balaki ati: «Sigara ng’aho iruhande y’ishikanwa riturirwa ryawe, jewe ngiye harya hirya kuvugana n’Imana.» 16 Yehova aca abonekera Balamu, amutegeka ivyo aza kuvuga+. Hanyuma amubwira ati: «Subira kwa Balaki, kandi ivyo abe ari vyo umubwira.» 17 Aca asubira kwa Balaki, asanga amurindiririye hafi y’ishikanwa riturirwa ryiwe, ari kumwe n’abaganwa b’i Mowabu. Balaki aca amubaza ati: «Yehova yakubwiye iki?» 18 Na we amwishura ati+:
«Haguruka Balaki wumvirize,
nyumviriza wa muhungu wa Zipori!
Iyo ivuze ikintu, mbega ntigikora?
Iyo isezeranye ikintu, mbega ntigishitsa+?
Imeze nk’amahembe y’ishuri yo mw’ishamba* kuri bo+.
Ku vyerekeye Yakobo na Isirayeli, umuntu yoshobora kuvuga ati:
“Raba ibitangaza Imana yakoze!”
Rizomera nk’intambwe itaryama itariye ico yafashe,
canke itanyoye amaraso y’ibikoko yishe.»
25 Balaki aca abwira Balamu ati: «Nimba udashoboye kubavuma, pfuma ureka no kubahezagira.» 26 Balamu amwishura ati: «Sinakubwiye none ko nza gukora ivyo Yehova avuze vyose+?»
27 Balaki yongera kubwira Balamu ati: «Ingo basi tuje ahandi hantu. Hari aho Imana y’ukuri yokwemerera kubamvumira+.» 28 Balaki aca ajana Balamu hejuru ku musozi Peyori, aharabana n’i Yeshimoni*+. 29 Balamu araheza abwira Balaki ati: «Nyubakira ng’aha ibicaniro indwi, untegurire impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi+.» 30 Balaki aca akora ivyo Balamu amubwiye, ashikana impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose.
24 Balamu amaze kubona ko Yehova ahimbarwa* no guhezagira Abisirayeli, ntiyasubiye kugerageza kurondera ko boshikirwa n’ivyago*+. Nuko aca arahindukira, araba mu bugaragwa. 2 Araramuye amaso akabona Abisirayeli bakambitse bisunze imiryango yabo+, impwemu y’Imana ica iza kuri we+. 3 Araheza avuga ati+:
«Ijambo rya Balamu umuhungu wa Beyori,
ijambo ry’umugabo yuguruwe amaso,
4 ijambo ry’umuntu yumva ico Imana ivuze,
uwabonye ibintu yeretswe na Mushoboravyose,
akagwa hasi amaso yiwe akanura+:
6 Aragenda agashika kure nk’imyonga*+,
nk’imirima iri iruhande y’uruzi,
nk’ingagari zatewe na Yehova,
nk’amasederi ari iruhande y’amazi.
7 Amazi aguma atemba ava mu ndobo ziwe zibiri z’inshato,
Azotikiza amahanga amuhahaza+,
azojanjagura amagufa yayo, ayatobekeranishe imyampi yiwe.
9 Yarabunze, araryama nk’intambwe,
ni nde none yokwubahuka kuvyura intambwe?
Abaguhezagira barahezagiwe,
n’abakuvuma baravumwe+.»
10 Balaki aca ashavurira cane Balamu, akubita urushi ku rundi maze amubwira ati: «Naguhamagaye ngo umvumire abansi banje+, ariko raba wishinze kubahezagira izi ncuro zitatu zose. 11 Subira iwanyu ningoga. Nari nashatse kugutera iteka rikomeye+, ariko raba Yehova ararigutesheje.»
12 Balamu yishura Balaki ati: «None sinari nabwiye abo watumye 13 ko “naho wompa inzu yawe yuzuye ifeza n’inzahabu, ntashobora gukora ikintu na kimwe nishakiye* gitandukanye n’itegeko rya Yehova, caba ciza canke kibi?” Sinari nababwiye ko “nzovuga ivyo Yehova ambwira gusa+?” 14 Ubu rero ndisubiriye iwacu*. Ariko reka nkubwire ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe muri kazoza*.» 15 Araheza avuga ati+:
«Ijambo rya Balamu umuhungu wa Beyori,
ijambo ry’umugabo yuguruwe amaso+,
16 ijambo ry’umuntu yumva ico Imana ivuze,
uwaronse ubumenyi buva kuri Musumbavyose,
uwabonye ibintu yeretswe na Mushoboravyose
igihe yagwa hasi amaso yiwe akanura:
17 Nzomubona, ariko si ubu nyene,
nzomwitegereza, ariko si muri aka kanya.
egome, Seyiri+ hazokwigarurirwa n’abansi baho+,
mu gihe Isirayeli azoba ariko yerekana ubutwari bwiwe.
20 Abonye Amaleki, aca avuga ati:
21 Abonye Abakeni+, aca avuga ati:
«Aho mwibera haratekanye, uburaro bwanyu bwubatse ku rutare.
22 Ariko Abakeni* bazoturirwa.
Mbega hasigaye igihe kingana iki ngo Ashuri ibagire imbohe?»
23 Abandanya kuvuga ati:
«Mbega amagorwa! Ni nde azorokoka Imana niyabikora?
Ariko na yo* nyene azohona buhere.»
25 Balamu+ aca aragenda asubira iwabo. Balaki na we nyene afata inzira yiwe, aragenda.
25 Igihe Abisirayeli baba i Shitimu+, baratanguye gusambana n’abagore b’i Mowabu+. 2 Abo bagore barabatumiye ngo basangire ibimazi bashikaniye imana zabo+, na bo batangura kurya no kwunamira izo mana+. 3 Nuko Abisirayeli bifatanya na bo mu gusenga Bayali y’i Peyori+, Yehova aca arabashavurira cane. 4 Yehova aca abwira Musa ati: «Fata abakuru b’abo bantu ubice hanyuma ubamanike imbere yanje jewe Yehova izuba riva, kugira ishavu rya Yehova rive ku Bisirayeli.» 5 Musa aca abwira abacamanza ba Isirayeli ati+: «Umwe wese niyice abagabo atwara bagiye gusenga* Bayali y’i Peyori+.»
6 Ubwo nyene haca haza Umwisirayeli azanye umugore w’Umumidiyani mw’ikambi+, Musa n’ishengero ryose ry’Abisirayeli babona. Bariko bararira bari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 7 Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari, Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi abibonye, aca ava mw’ishengero ry’Abisirayeli atora icumu. 8 Aca akurikira uwo mugabo w’Umwisirayeli mw’ihema, arabatobekeranya bose, uwo mugabo n’uwo mugore, acishije mu bihimba vy’irondoka vy’uwo mugore. Ikiza cari ku Bisirayeli gica kirahagarara+. 9 Abishwe n’ico kiza bari 24.000+.
10 Yehova aca abwira Musa ati: 11 «Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari, Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi, yasubije inyuma uburake mfitiye Abisirayeli, kuko atihanganiye na gato abampemukira+. Ni co gituma ntatikije Abisirayeli, naho nsaba gusengwa* jenyene+. 12 Ku bw’ivyo rero, mubwire ko ngiranye isezerano ry’amahoro na we. 13 Ni isezerano ry’ubuherezi bwamaho kuri we n’uruvyaro rwiwe+, kuko atihanganiye abahemukira Imana yiwe+ akongera agatangira impongano Abisirayeli.»
14 Uwo Mwisirayeli yishwe ari kumwe n’Umumidiyanikazi, yitwa Zimuri umuhungu wa Salu, umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango ikomoka kuri Simeyoni. 15 Uwo Mumidiyanikazi yishwe na we yitwa Kozibi, umukobwa wa Zuri+. Zuri yari umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango yakomokamwo i Midiyani+.
16 Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: 17 «Nimutoteze Abamidiyani mubice+, 18 kuko babakwegeye ivyago mu kubahenda, bigatuma mucumura i Peyori+. Baraboheje muracumura biciye kuri mushiki wabo Kozibi, umukobwa w’umukuru w’i Midiyani, umwe bica+ kuri wa musi mwatezwa ikiza kubera ivyabereye i Peyori+.»
26 Inyuma y’ico kiza+, Yehova abwira Musa na Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi ati: 2 «Nimugire rusansuma rw’ishengero ryose ry’Abisirayeli, kuva ku bafise imyaka 20 kuduga, mwisunze imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Nimuharure abantu bose bashobora kuja mu gisoda ca Isirayeli+.» 3 Musa na Eleyazari+ umuherezi baca bavugana n’abantu mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+, ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko+, bababwira bati: 4 «Nimugire rusansuma rw’abagabo bose bafise imyaka 20 kuduga, nk’uko Yehova yabitegetse Musa+.»
Aba rero ni bo bahungu ba Isirayeli bavuye mu Misiri: 5 Rubeni+, imfura ya Isirayeli. Abahungu ba Rubeni+ bari aba: Hanoki, ari we yakomotseko umuryango w’Abahanoki; Palu, ari we yakomotseko umuryango w’Abapalu; 6 Hesironi, ari we yakomotseko umuryango w’Abahesironi hamwe na Karumi, ari we yakomotseko umuryango w’Abakarumi. 7 Iyo ni yo yari imiryango y’Abarubeni. Abanditswe muri bo bari 43.730+.
8 Palu yavyaye Eliyabu. 9 Abahungu ba Eliyabu bari Nemuweli, Datani na Abiramu. Datani na Abiramu bari abakuru b’ishengero barwanije Musa+ na Aroni bari kumwe n’akagwi ka Kora+, igihe barwanya Yehova+.
10 Isi yaciye yasama irabamira. Kora na we yapfiriye hamwe n’abamushigikiye igihe umuriro waturira abagabo 250 bagapfa+. Ivyabashikiye vyabereye akarorero abandi+. 11 Ariko abahungu ba Kora ntibapfuye+.
12 Abahungu ba Simeyoni+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Nemuweli, ari we yakomotseko umuryango w’Abanemuweli; Yamini, ari we yakomotseko umuryango w’Abayamini; Yakini, ari we yakomotseko umuryango w’Abayakini; 13 Zera, ari we yakomotseko umuryango w’Abazera hamwe na Shawuli, ari we yakomotseko umuryango w’Abashawuli. 14 Iyo ni yo yari imiryango y’Abasimeyoni. Abanditswe muri bo bari 22.200+.
15 Abahungu ba Gadi+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Zefoni, ari we yakomotseko umuryango w’Abazefoni; Hagi, ari we yakomotseko umuryango w’Abahagi; Shuni, ari we yakomotseko umuryango w’Abashuni; 16 Ozini, ari we yakomotseko umuryango w’Abozini; Eri, ari we yakomotseko umuryango w’Aberi; 17 Arodi, ari we yakomotseko umuryango w’Abarodi hamwe na Areli, ari we yakomotseko umuryango w’Abareli. 18 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Gadi. Abanditswe muri bo bari 40.500+.
19 Abahungu ba Yuda+ bari Ere na Onani+. Ariko Ere na Onani bapfiriye mu gihugu ca Kanani+. 20 Abahungu ba Yuda hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Shela+, ari we yakomotseko umuryango w’Abashela; Peresi+, ari we yakomotseko umuryango w’Abaperesi hamwe na Zera+, ari we yakomotseko umuryango w’Abazera. 21 Abahungu ba Peresi bari aba: Hesironi+, ari we yakomotseko umuryango w’Abahesironi hamwe na Hamuli+, ari we yakomotseko umuryango w’Abahamuli. 22 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomoka kuri Yuda. Abanditswe muri bo bari 76.500+.
23 Abahungu ba Isakari+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Tola+, ari we yakomotseko umuryango w’Abatola; Puva, ari we yakomotseko umuryango w’Abapuni; 24 Yashubu, ari we yakomotseko umuryango w’Abayashubu hamwe na Shimuroni, ari we yakomotseko umuryango w’Abashimuroni. 25 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Isakari. Abanditswe muri bo bari 64.300+.
26 Abahungu ba Zabuloni+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Seredi, ari we yakomotseko umuryango w’Abaseredi; Eloni, ari we yakomotseko umuryango w’Abeloni hamwe na Yakileli, ari we yakomotseko umuryango w’Abayakileli. 27 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Zabuloni. Abanditswe muri bo bari 60.500+.
28 Abahungu ba Yozefu+ hakurikijwe imiryango yabo bari Manase na Efurayimu+. 29 Abakomotse kuri Manase+ bari aba: Makiri+, ari we yakomotseko umuryango w’Abamakiri. Makiri ni we yavyaye Gileyadi+, kandi Gileyadi ni we yakomotseko umuryango w’Abagileyadi. 30 Abahungu ba Gileyadi bari aba: Yezeri, ari we yakomotseko umuryango w’Abayezeri; Heleki, ari we yakomotseko umuryango w’Abaheleki; 31 Asiriyeli, ari we yakomotseko umuryango w’Abasiriyeli; Shekemu, ari we yakomotseko umuryango w’Abashekemu; 32 Shemida, ari we yakomotseko umuryango w’Abashemida hamwe na Heferi, ari we yakomotseko umuryango w’Abaheferi. 33 Zelofehadi umuhungu wa Heferi nta bahungu yari yaravyaye, yari afise abakobwa gusa+. Abo bakobwa biwe+ bari Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza. 34 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Manase. Abanditswe muri bo bari 52.700+.
35 Aba ni bo bari abahungu ba Efurayimu+ hakurikijwe imiryango yabo: Shutela+, ari we yakomotseko umuryango w’Abashutela; Bekeri, ari we yakomotseko umuryango w’Ababekeri hamwe na Tahani, ari we yakomotseko umuryango w’Abatahani. 36 Shutela yavyaye Erani, ari na we yakomotseko umuryango w’Aberani. 37 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Efurayimu. Abanditswe muri bo bari 32.500+. Abo ni bo bakomotse kuri Yozefu hakurikijwe imiryango yabo.
38 Abahungu ba Benyamini+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Bela+, ari we yakomotseko umuryango w’Ababela; Ashibeli, ari we yakomotseko umuryango w’Abashibeli; Ahiramu, ari we yakomotseko umuryango w’Abahiramu; 39 Shefufamu, ari we yakomotseko umuryango w’Abashufamu hamwe na Hufamu, ari we yakomotseko umuryango w’Abahufamu. 40 Abahungu ba Bela bari Arudi na Namani+. Arudi ni we yakomotseko umuryango w’Abarudi, Namani na we akomokako umuryango w’Abanamani. 41 Abo ni bo bakomotse kuri Benyamini hisunzwe imiryango yabo. Abanditswe muri bo bari 45.600+.
42 Aba ni bo bakomotse kuri Dani+ hakurikijwe umuryango wabo: Shuhamu, ari we yakomotseko umuryango w’Abashuhamu. Abo ni bo bakomotse kuri Dani hakurikijwe umuryango wabo. 43 Abanditswe bose mu muryango w’Abashuhamu bari 64.400+.
44 Abahungu ba Asheri+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Imuna, ari we yakomotseko umuryango w’Abimuna; Ishivi, ari we yakomotseko umuryango w’Abishivi hamwe na Beriya, ari we yakomotseko umuryango w’Ababeriya. 45 Abahungu ba Beriya na bo bari aba: Heberi, ari we yakomotseko umuryango w’Abaheberi hamwe na Malikiyeli, ari we yakomotseko umuryango w’Abamalikiyeli. 46 Umukobwa wa Asheri yitwa Sera. 47 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Asheri. Abanditswe muri bo bari 53.400+.
48 Abahungu ba Nafutali+ hakurikijwe imiryango yabo bari aba: Yakiseli, ari we yakomotseko umuryango w’Abayakiseli; Guni, ari we yakomotseko umuryango w’Abaguni; 49 Yezeri, ari we yakomotseko umuryango w’Abayezeri hamwe na Shilemu, ari we yakomotseko umuryango w’Abashilemu. 50 Iyo ni yo yari imiryango y’abakomotse kuri Nafutali. Abanditswe muri bo bari 45.400+.
51 Abisirayeli banditswe bose hamwe bari 601.730+.
52 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Musa ati: 53 «Abo ni bo bazogaburirwa igihugu ngo kibe intoranwa yabo, hakurikijwe urutonde rw’amazina yabo*+. 54 Imigwi igizwe na benshi uzoyiha intoranwa nini, iyigizwe na bakeyi na yo uyihe intoranwa ntoyi+. Umugwi umwumwe wose uzowuha intoranwa wisunze igitigiri c’abanditswe muri wo. 55 Ariko igihugu kizogaburwa hakoreshejwe ubupfindo+. Bazoronka intoranwa yabo hakurikijwe amazina y’imiryango ya ba sekuru babo. 56 Intoranwa y’umuryango wose, waba munini canke mutoyi, izokwerekanwa n’ubupfindo.»
57 Aba ni bo banditswe mu Balewi+ hakurikijwe imiryango yabo: Gerushoni, ari we yakomotseko umuryango w’Abagerushoni; Kohati+, ari we yakomotseko umuryango w’Abakohati hamwe na Merari, ari we yakomotseko umuryango w’Abamerari. 58 Iyi ni yo yari imiryango y’Abalewi: umuryango w’Abalibuni+, umuryango w’Abaheburoni+, umuryango w’Abamahili+, umuryango w’Abamushi+ n’umuryango w’Abakora+.
Kohati ni we yavyaye Amuramu+. 59 Umugore wa Amuramu yitwa Yokebedi+, umukobwa wa Lewi. Umugore wa Lewi yamuvyaye bari mu Misiri. Yokebedi yavyariye Amuramu abana batatu ari bo Aroni, Musa na mushiki wabo Miriyamu+. 60 Aroni na we yavyaye Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari+. 61 Ariko Nadabu na Abihu barapfuye kubera bashikanye umuriro utemewe imbere ya Yehova+.
62 Abahungu bose banditswe muri bo, kuva ku kwezi kumwe kuduga, bari 23.000+. Ntibanditswe hamwe n’abandi Bisirayeli+, kuko ata ntoranwa bari kuronka muri bo+.
63 Abo ni bo banditswe na Musa na Eleyazari umuherezi, igihe bandika Abisirayeli bari mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko. 64 Ariko muri abo nta n’umwe yarimwo mu bo Musa na Aroni umuherezi banditse, igihe bagira rusansuma rw’Abisirayeli mu bugaragwa bwa Sinayi+. 65 Kuko Yehova yari yavuze ati: «Bazopfira mu bugaragwa ata gisivya+.» Nta n’umwe muri bo yari agisigaye, uretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.
27 Abakobwa ba Zelofehadi+ baca baraza. Zelofehadi yari umuhungu wa Heferi, Heferi umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi umuhungu wa Makiri, Makiri umuhungu wa Manase. Zelofehadi yari uwo mu miryango ikomoka kuri Manase umuhungu wa Yozefu. Abo bakobwa biwe bari Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza. 2 Bahagarara imbere ya Musa na Eleyazari umuherezi n’imbere y’abakuru+ be n’ishengero ryose ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, maze bavuga bati: 3 «Data yapfiriye mu bugaragwa, ariko nta bahungu yari afise. Ntiyari muri ka kagwi k’abashigikiye Kora+ kagarariza Yehova, ahubwo yahitanywe n’igicumuro ciwe. 4 Kubera iki none izina rya data ryozimangana mu muryango wiwe ngo ni uko atavyaye abahungu? Nuduhe itongo muri benewabo na data.» 5 Musa aca ashikiriza Yehova ikibazo cabo+.
6 Maze Yehova abwira Musa ati: 7 «Ivyo abakobwa ba Zelofehadi bavuga ni vyo. Utegerezwa kubaha itongo cokimwe na benewabo na se, ubashikirize intoranwa ya se wabo+. 8 Kandi uce ubwira Abisirayeli uti: “Umugabo niyapfa atavyaye umuhungu, intoranwa yiwe muzoca muyiha umukobwa wiwe. 9 Nimba ata mukobwa afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha benewabo. 10 Nimba ata benewabo afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha benewabo na se. 11 Nimba se wiwe ata benewabo afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha incuti yiwe ya hafi basangiye amaraso, ibe rwiwe. Iyo ngingo ni itegeko Abisirayeli bazokwama bisunga nk’uko Yehova yabitegetse Musa.”»
12 Hanyuma Yehova abwira Musa ati: «Duga kuri uyu musozi uri mu karere ka Abarimu+, urabe igihugu nzoha Abisirayeli+. 13 Niwamara kukibona, na wewe uzoca upfa, uhamvye ab’iwanyu*+ nka Aroni mwene wanyu+, 14 kuko mwagararije itegeko ryanje ca gihe ishengero ryanshwanira mu bugaragwa bwa Zini. Ntimwerekanye ko ndi mweranda imbere y’ishengero igihe nabaha amazi+. (Ayo ni ya mazi y’i Meriba+ i Kadeshi+ mu bugaragwa bwa Zini+.)»
15 Musa aca abwira Yehova ati: 16 «Ewe Yehova, Mana uha ubuzima abantu bose, nugene umuntu azoyobora iri shengero, 17 umuntu azosohoka akongera akinjira imbere yabo, akabasohora akongera akabinjiza, kugira ishengero rya Yehova ntirimere nk’intama zitagira umwungere.» 18 Yehova yishura Musa ati: «Tora Yosuwa mwene Nuni, umugabo abishoboye*, uheze umurambikeko ibiganza+. 19 Uzoca umuhagarika imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero ryose, umugene abe indongozi bose babona+. 20 Uze umuheko ku bubasha* bwawe+, kugira ishengero ryose ry’Abisirayeli rimwumvire+. 21 Azohagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, na we amusigurize Yehova akoresheje Urimu+. We hamwe n’Abisirayeli bose, ni ukuvuga ishengero ryose, bazosohoka bongere binjire kw’itegeko ryiwe.»
22 Musa araheza akora ivyo Yehova yari yamutegetse. Afata Yosuwa, amuhagarika imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero ryose. 23 Aca amurambikako ibiganza, aramugena ngo abe indongozi+ nk’uko Yehova yari yabimubwiye+.
28 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Tegeka Abisirayeli uti: “Muze mwitwararike gutanga ishikanwa ryanje, ari wo mukate wanje. Amashikanwa yanje bashikanisha umuriro y’akamoto keza*, mubwirizwa kuyatanga ku bihe nashinze+.”
3 Ubabwire kandi uti: “Iri ni ryo shikanwa bashikanisha umuriro muzoshikanira Yehova: Buri musi muzokwama mutanga ishikanwa riturirwa rigizwe n’imyagazi ibiri y’intama* itagira akanenge kandi imaze umwaka umwe+. 4 Umwagazi umwe muzowushikana mu gatondo, uwundi ku mugoroba*+. 5 Muzowutangana n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa* y’ifu inoze ivanze n’ica kane c’ingero ya hini* y’amavuta amiminye neza+. 6 Ni ishikanwa riturirwa ryamaho+ ryatanguriye ku musozi Sinayi, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova. 7 Muzoritangana n’ishikanwa ry’ikinyobwa ku mwagazi umwumwe wose+. Iryo shikanwa ry’ikinyobwa rizoba rigizwe n’ica kane c’ingero ya hini y’inzoga. Muzorisuka ahantu heranda, ribe ishikanwa ry’ikinyobwa rihabwa Yehova. 8 Uwundi mwagazi muzowushikana ku mugoroba. Muzowutangana n’ishikanwa ry’intete be n’ishikanwa ry’ikinyobwa nka bimwe vyo mu gitondo, bibe ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova+.
9 Ariko ku musi w’isabato+, iryo shikanwa rizoba rigizwe n’imyagazi ibiri y’intama itagira akanenge kandi imaze umwaka umwe, hamwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya Efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta, biri kumwe n’ishikanwa ry’ikinyobwa bijana. 10 Iryo ni ryo shikanwa riturirwa ryo kw’isabato, ryiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ry’ikinyobwa bijana+.
11 Mu ntango za buri kwezi, muzoshikanira Yehova ishikanwa riturirwa rigizwe n’ishuri zibiri zikiri nto be n’impfizi y’intama n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka umwumwe kandi itagira akanenge+. 12 Muzobitangana n’ishikanwa ry’intete+ rigizwe n’ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta kw’ishuri imwimwe, ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta ku mpfizi y’intama+, 13 hamwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ic’icumi c’ingero ya efa y’ifu inoze ivanze n’amavuta ku mwagazi umwumwe. Ni ishikanwa riturirwa ry’akamoto kamotera neza* Yehova+, ishikanwa bashikanisha umuriro. 14 Amashikanwa y’ibinyobwa na yo azoba ari aya: inusu y’ingero ya hini y’umuvinyu kw’ishuri+, ica gatatu ca hini ku mpfizi y’intama+ hamwe n’ica kane ca hini ku mwagazi w’intama+. Ni ishikanwa riturirwa muzokwama mutanga buri kwezi mu mwaka wose. 15 Mukwiye kandi gushikanira Yehova ishikanwa ry’igicumuro rigizwe n’umwagazi w’impene, ryiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho hamwe n’ishikanwa ry’ikinyobwa bijana.
16 Ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere azoba ari Pasika ya Yehova+. 17 Ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi na ho azoba ari umusi mukuru. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. 18 Ku musi wa mbere muzogira ikoraniro ryeranda, kandi nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora. 19 Muzoshikanira Yehova ishikanwa riturirwa rigizwe n’ishuri zibiri zikiri nto, impfizi y’intama be n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka umwumwe. Mukwiye gutanga ibitungwa bitagira akanenge+. 20 Muzobitangana n’amashikanwa y’intete yavyo agizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta+: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 21 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 22 Muzotanga n’impene y’ishikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano. 23 Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo, ari ryo shikanwa riturirwa ryamaho. 24 Muzobishikana imisi yose mu buryo bumwe mu kiringo c’imisi indwi. Ni ibifungurwa*, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova. Muzobitanga biri kumwe n’ishikanwa riturirwa ryamaho hamwe n’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa. 25 Ku musi ugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda+. Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora+.
26 Ku musi wo gushikana ivyimburwa vyeze ubwa mbere+, igihe muzoha Yehova ishikanwa ry’intete+ nshasha ku musi mukuru w’amayinga+, muzogira ikoraniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe kiruhisha mukwiye gukora+. 27 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza: ishuri zibiri zikiri nto, impfizi y’intama n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka umwumwe+. 28 Muzobitangana n’amashikanwa y’intete yavyo agizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 29 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 30 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano+. 31 Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho hamwe n’ishikanwa ry’intete bijana. Bikwiye kuba ari ibitungwa bitagira akanenge+, biri kumwe n’amashikanwa yavyo y’ibinyobwa.
29 Ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. Uzoba ari umusi wo kuvuza inzumbete+. 2 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza*: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi* y’intama indwi umwumwe umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge. 3 Muzobitanga biri kumwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 4 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 5 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’isuguru w’ishikanwa ry’igicumuro kugira mutangirwe impongano. 6 Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa rya buri kwezi be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ no kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete+ hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+. Muzobitanga nk’uko bisabwa n’amategeko. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.
7 Ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda+ kandi mutegerezwa kwibabaza*. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. 8 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi y’intama indwi umwumwe umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 9 Muzobitanga biri kumwe n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama 10 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi indwi. 11 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa ry’igicumuro ryo ku musi w’impongano+ no kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa.
12 Ku musi ugira 15 w’ukwezi kugira indwi, muzogira ikoraniro ryeranda. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha. Muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru wa Yehova+. 13 Iri ni ryo shikanwa riturirwa+ muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza*: ishuri 13 zikiri nto, impfizi z’intama 2 hamwe n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 14 Muzobitangana n’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ifu inoze ivanze n’amavuta: ivy’icumi bitatu vy’ingero ya efa kw’ishuri imwimwe muri izo 13, ivy’icumi bibiri vy’ingero ya efa ku mpfizi y’intama imwimwe muri izo zibiri 15 n’ic’icumi c’ingero ya efa ku mwagazi umwumwe muri iyo myagazi 14. 16 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
17 Ku musi ugira kabiri na ho, muzoshikana ishuri zikiri nto 12, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 18 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 19 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+.
20 Ku musi ugira gatatu, muzoshikana ishuri 11, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 21 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 22 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
23 Ku musi ugira kane, muzoshikana ishuri 10, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 24 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 25 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
26 Ku musi ugira gatanu, muzoshikana ishuri 9, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 27 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 28 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
29 Ku musi ugira gatandatu, muzoshikana ishuri 8, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 30 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 31 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no ku mashikanwa yavyo y’ibinyobwa+.
32 Ku musi ugira indwi, muzoshikana ishuri 7, impfizi z’intama 2 n’imyagazi y’intama 14 umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 33 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’izo shuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 34 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
35 Ku musi ugira umunani, muzogira ikoraniro ridasanzwe. Ntimukwiye gukora igikorwa na kimwe kiruhisha+. 36 Iri ni ryo shikanwa riturirwa muzoshikanira Yehova kugira rimubere akamoto keza: ishuri imwe, impfizi y’intama imwe hamwe n’imyagazi y’intama indwi umwumwe wose umaze umwaka. Vyose bikwiye kuba bitagira akanenge+. 37 Muzobitangana n’ishikanwa ryavyo ry’intete hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa y’iyo shuri, iyo mpfizi y’intama n’iyo myagazi y’intama. Muzobitanga mwisunze igitigiri cavyo nk’uko bisabwa n’amategeko. 38 Muzotanga n’umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose bizoza vyiyongera kw’ishikanwa riturirwa ryamaho be n’ishikanwa ryaryo ry’intete hamwe no kw’ishikanwa ryaryo ry’ikinyobwa+.
39 Ivyo muzobishikanira Yehova ku misi mikuru yanyu+. Bizoza vyiyongera ku mashikanwa yanyu yo gushitsa indagano+ no ku mashikanwa mutanga muvyishakiye+, yaba ari ayaturirwa+, ay’intete+, ay’ibinyobwa+ canke ibimazi vyo gusangira+.”» 40 Musa araheza abwira Abisirayeli ibintu vyose Yehova yari yamutegetse.
30 Hanyuma Musa abwira abakuru+ b’imiryango y’Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova ategetse: 2 umugabo niyagirira indagano+ Yehova canke akarahira+ ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka, ategerezwa gushitsa ivyo yavuze+. Ategerezwa gushitsa ivyo yasezeranye vyose+.
3 Umukobwa akiba kwa se niyagirira indagano Yehova canke agasezerana ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka, 4 hanyuma se wiwe akumva ko yagize indagano canke ko yasezeranye gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka ariko ntamubuze, indagano yose n’isezerano ryose yagize bizogumaho. 5 Ariko se niyumva ko yagize indagano canke ko yasezeranye gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka hanyuma agaca amubuza, iyo ndagano ntizoba ikimufashe. Yehova azomubabarira kuko se yavyanse+.
6 Ariko niyarongorwa akigengwa n’iyo ndagano canke iryo sezerano yagize gihutihuti, 7 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntamwankire ku musi avyumviyeko, iyo ndagano canke iryo sezerano yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka bizogumaho. 8 Ariko umugabo wiwe niyabimwankira ku musi avyumviyeko, arashobora guhagarika iyo ndagano yiwe canke iryo sezerano yagize gihutihuti+, kandi Yehova azomubabarira.
9 Umupfakazi canke umugore yahukanye niyagira indagano, ategerezwa gushitsa ivyo yasezeranye vyose.
10 Umugore niyagira indagano canke agasezerana ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka akibana n’umugabo wiwe, 11 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntamubuze canke ngo avyanke, indagano yose yagize n’isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka bizogumaho. 12 Ariko umugabo wiwe niyabihagarika burundu ku musi avyumviyeko, indagano yose yagize n’isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka ntibizogumaho+. Yehova azomubabarira kuko umugabo wiwe azoba yabihagaritse. 13 Umugabo wiwe ni we akwiye kwemeza canke guhagarika indagano yose yagize canke isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka*. 14 Ariko nihaca imisi umugabo wiwe ataramubuza, na we nyene azoba yemeje indagano yose canke isezerano ryose ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka umugore wiwe yagize. Azoba avyemeje kuko atazoba yabimubujije ku musi yavyumviyeko. 15 Ariko niyabihagarika haciye igihe avyumvise, azoca ashikirwa n’ingaruka z’ikosa ry’umugore wiwe+.
16 Ivyo ni vyo Yehova yategetse Musa ku bijanye n’umugabo hamwe n’umugore wiwe, no ku bijanye n’umukobwa hamwe na se wiwe igihe uwo mukobwa akiba kwa se.»
31 Maze Yehova abwira Musa ati: 2 «Nimwihore+ Abamidiyani kubera ivyo bakoreye Abisirayeli+. Uzoheza upfe uhamvye ab’iwanyu*+.»
3 Musa aca abwira abantu ati: «Nimuhe ibirwanisho abagabo bo muri mwebwe baje kurwanya* Abamidiyani, kugira babihore nk’uko Yehova yabivuze. 4 Muzorungika mu gisoda abagabo 1.000 bavuye ku muryango umwumwe wose w’Abisirayeli.» 5 Baca batora abagabo 1.000 ku muryango umwumwe mu Bisirayeli ibihumbi+, bose baba abagabo 12.000 biteguriye kuja ku rugamba*.
6 Musa aca arungika ku rugamba abo bagabo 1.000 bavuye mu muryango umwumwe wose, bagenda bajanye na Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari umuherezi. Yari afise mu minwe vya bikoresho vyeranda n’inzumbete zo kuvuza ku rugamba+. 7 Baraheza barwana n’Abamidiyani nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa, bica abagabo bose. 8 Bica kandi abami batanu ba Midiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba. Balamu+ umuhungu wa Beyori na we nyene bamwicisha inkota. 9 Ariko bagira imbohe abagore n’abana b’i Midiyani. Bagenda batwaye ibitungwa vyabo vyose n’ibintu vyabo vyose. 10 Baraheza baturira ibisagara vyose babamwo n’amahema* yabo yose. 11 Batwara ibintu vyose bari banyaze, ushizemwo abantu n’ibitungwa. 12 Izo mbohe n’ivyo bintu banyaze baca babizanira Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’ishengero ryose ry’Abisirayeli. Babizana mw’ikambi mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu+, ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko.
13 Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru bose b’ishengero baca baja kubasanganira inyuma y’ikambi. 14 Ariko Musa ashavurira abakuru b’izo ngabo, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana bari bavuye ku rugamba. 15 Ababwira ati: «Kubera iki n’abagore mutabishe? 16 Murazi neza ko ari bo batumye Abisirayeli bahemukira+ Yehova ku vyabaye i Peyori+ biciye kuri Balamu, ku buryo ikiza gitera ishengero rya Yehova+. 17 Ubu rero nimwice abana bose b’abahungu n’abagore bose bamaze kuryamana n’abagabo. 18 Ariko abakobwa bose batararyamana n’abagabo, ntimubice+. 19 Muzomara imisi indwi muba hanze y’ikambi. Umuntu wese muri mwebwe no mu bo mwagize imbohe yishe umuntu canke agakora ku muvyimba+, ategerezwa kwihumanura+ ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi. 20 Mutegerezwa kandi gutyorora impuzu zose, ikintu cose gikozwe mu rushato, ikintu cose gikozwe mu bwoya bw’impene n’ikintu cose gikozwe mu giti.»
21 Eleyazari umuherezi aca abwira abagabo bari bagiye ku rugamba ati: «Ibi ni vyo Yehova yategetse Musa: 22 “Inzahabu, ifeza, umujumpu, icuma, ubutare bw’ibati n’ubw’isasu, 23 ikintu cose kirinda umuriro, muzogicisha mu muriro kugira kibe ikidahumanye. Mutegerezwa kandi kugicisha mu mazi bakoresha mu guhumanura+. Ikintu cose kitarinda umuriro mutegerezwa kugicisha mu mazi. 24 Mutegerezwa kumesa impuzu zanyu ku musi ugira indwi kugira mube abadahumanye, muheze mwinjire mw’ikambi+.”»
25 Yehova aca abwira Musa ati: 26 «Harura ibitungwa vyose mwasahuye n’abantu bose mwagize imbohe. Uzobiharura uri kumwe na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru y’imiryango igize ishengero. 27 Uzoca ugaburamwo kubiri ivyo mwasahuye, igice kimwe ugihe abagiye ku rugamba, ikindi ugihe abasigaye bose mw’ishengero+. 28 Mu vyegukira abasoda bagiye ku rugamba, muzotora kimwekimwe ku 500, haba mu bantu, mu nka, mu ndogobwa, mu ntama no mu mpene, kugira bibe ikori rya Yehova. 29 Iryo kori uzorikura ku mugabane wabo, uheze urihe Eleyazari umuherezi kugira ribe intererano ya Yehova+. 30 Mu vyegukira Abisirayeli na ho, uzotora kimwekimwe kuri 50, haba mu bantu, mu nka, mu ndogobwa, mu ntama, mu mpene no mu bikoko vyose vy’ibitungano, uheze ubihe Abalewi+ bajejwe ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova+.»
31 Musa na Eleyazari umuherezi baca bakora nk’uko Yehova yari yabitegetse Musa. 32 Ivyari bisigaye ku vyo abagiye ku rugamba bari banyaze vyari intama n’impene 675.000, 33 inka 72.000 34 hamwe n’indogobwa 61.000. 35 Abakobwa batari bwaryamane n’abagabo+ bari 32.000. 36 Intama n’impene abagiye ku rugamba baronse zari 337.500, 37 baca baha Yehova ikori ry’intama n’impene 675. 38 Inka baronse zari 36.000, baca baha Yehova ikori ry’inka 72. 39 Indogobwa baronse zari 30.500, baca baha Yehova ikori ry’indogobwa 61. 40 Abantu baronse bari 16.000, baca baha Yehova ikori ry’abantu 32. 41 Musa aca aha Eleyazari umuherezi iryo kori ry’intererano ya Yehova+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
42 Umugabane w’Abisirayeli, uwo Musa yari yatandukanije n’ivyegukira abagiye ku rugamba, 43 wangana n’impene n’intama 337.500, 44 inka 36.000, 45 indogobwa 30.500 46 hamwe n’abantu 16.000. 47 Mu vyegukira Abisirayeli, Musa aca atora kimwekimwe ku 50, haba mu bantu no ku bitungwa, araheza abiha Abalewi+ bajejwe ibikorwa vyo kw’ihema ryeranda rya Yehova+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
48 Abakuru mu gisirikare, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana, baca begera Musa 49 bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe twaharuye abasirikare bose tujejwe dusanga nta n’umwe abuze+. 50 Twagira rero dushikanire Yehova ico umwumwe yaronse: ibintu vy’inzahabu, imigufu yo ku maguru, ibikomo, impeta z’ikidodo, amahereni n’utundi dusharizo, kugira dutangirwe impongano imbere ya Yehova.»
51 Musa na Eleyazari umuherezi baca bakira inzahabu babahaye, ni ukuvuga udusharizo twose. 52 Inzahabu zose abakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana bahaye Yehova zangana na shekeli* 16.750. 53 Umusoda wese yari yaronse umugabane wiwe ku vyo bari basahuye. 54 Nuko Musa na Eleyazari umuherezi bakira inzahabu zitanzwe n’abo bakuru b’ibihumbi n’abakuru b’amajana. Baca bazishira mw’ihema ry’ibonaniro kugira Abisirayeli baze baribuka* ingene Yehova yabafashije.
32 Abakomoka kuri Rubeni+ n’abakomoka kuri Gadi+ bari bafise ibitungwa vyinshi cane. Nuko babona ko akarere ka Yazeri+ n’aka Gileyadi hari ahantu habereye ibitungwa. 2 Baca begera Musa na Eleyazari umuherezi hamwe n’abakuru b’ishengero, bababwira bati: 3 «Akarere ka Ataroti, Diboni, Yazeri, Nimura, Heshiboni+, Eleyale, Sebamu, Nebo+ na Beyoni+, 4 akarere Yehova yatsindiye imbere y’ishengero ry’Abisirayeli+, ni ahantu habereye ibitungwa kandi twebwe abasavyi bawe dufise ibitungwa vyinshi+.» 5 Bongerako bati: «Nimba ubishimye, nuduhe aka karere kabe rwacu. Ntutujabukane uruzi Yorodani.»
6 Musa yishura abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni ati: «None benewanyu bazoja mu ntambara namwe mwibereye ng’aha? 7 Kuki mushaka guca intege Abisirayeli ngo ntibajabuke binjire mu gihugu Yehova agira abahe? 8 Ivyo ni vyo ba sokuru banyu bakoze igihe nabarungika kuraba ico gihugu bavuye i Kadeshi-Baruneya+. 9 Igihe baduga bagashika mu mwonga* wa Eshikoli+ maze bakabona ico gihugu, baraciye intege Abisirayeli ngo ntibinjire mu gihugu Yehova yagira abahe+. 10 Kuri uwo musi Yehova yaciye arungura n’ishavu ku buryo arahira ati+: 11 “Abagabo bavuye mu Misiri, kuva ku myaka 20 kuduga, ntibazobona igihugu+ narahiye ko nzoha Aburahamu, Izahaki na Yakobo+, kuko batankurikiye n’umutima wabo wose. 12 Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi na Yosuwa+ mwene Nuni, ni bo bonyene bazobona ico gihugu, kuko bakurikiye Yehova n’umutima wabo wose+.” 13 Yehova rero yaciye ashavurira cane Abisirayeli, atuma bamara imyaka 40 bayerera mu bugaragwa+, gushika urwo runganwe* rwose rukora ikibi mu maso ya Yehova ruhonye+. 14 None ehe raba mugiye mu kibanza ca ba sokuru banyu, mwa ruvyaro rw’abacumuzi mwe! Nta kindi murondera atari ukwongerereza ishavu Yehova afitiye Abisirayeli. 15 Nimwareka kumukurikira, na we azoca ata Abisirayeli muri ubu bugaragwa, kandi aba bantu bose muzoba mubakwegeye akarambaraye.»
16 Mu nyuma begera Musa, bamubwira bati: «Tureke twubakire ibitungwa vyacu impongore* z’amabuye hamwe n’ibisagara vy’abana bacu. 17 Ariko tuzoguma twiteguriye urugamba+, kandi tuzogendera imbere y’Abisirayeli gushika tubashikanye mu karere kabo. Abana bacu bazoguma mu bisagara bikingijwe impome kugira ababa muri iki gihugu ntibabagirire nabi. 18 Ntituzosubira mu mihana iwacu Abisirayeli bose bataronse intoranwa yabo+. 19 Ntituzotorana hamwe na bo hakurya ya Yorodani, kuko tuzoba twamaze kuronka intoranwa hakuno, ku ruhande rwo mu buseruko bwa Yorodani+.»
20 Musa abishura ati: «Nimwatora ibirwanisho mukaja ku rugamba imbere ya Yehova+, 21 umwe wese agafata ibirwanisho akajabuka uruzi Yorodani igihe Yehova azoba ariko yirukana abansi biwe+, 22 gushika mwigaruriye ico gihugu imbere ya Yehova+, muzoheza mugaruke+ kandi nta caha kizobagira imbere ya Yehova n’Abisirayeli. Iki gihugu rero kizoca kiba rwanyu imbere ya Yehova+. 23 Ariko nimutabigenza gutyo, muzoba mucumuye kuri Yehova kandi mumenye neza ko igicumuro canyu kizobakurikirana. 24 Murashobora rero kwubaka ibisagara vy’abana banyu n’impongore z’ibitungwa vyanyu+, ariko mutegerezwa gushitsa ivyo mwasezeranye.»
25 Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni baca babwira Musa bati: «Databuja, twebwe abasavyi bawe tuzokora nk’uko udutegetse. 26 Abana bacu, abagore bacu n’ibitungwa vyacu vyose bizosigara ng’aha mu bisagara vy’i Gileyadi+. 27 Ariko twebwe abasavyi bawe tuzojabuka, umugabo wese yiteguriye urugamba imbere ya Yehova+, nk’uko databuja abivuze.»
28 Musa aca atanga itegeko ku biberekeye, ariha Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni hamwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, 29 ababwira ati: «Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni nibajabukana namwe uruzi Yorodani, umugabo wese afise ibirwanisho yiteguriye urugamba imbere ya Yehova, hanyuma mukigarurira igihugu, muzoca mubaha igihugu ca Gileyadi kibe rwabo+. 30 Ariko nibatafata ibirwanisho ngo mujabukane, bazoca babana namwe mu gihugu ca Kanani.»
31 Abakomoka kuri Gadi n’abakomoka kuri Rubeni baca bishura bati: «Ivyo Yehova avuze tuzobikora. 32 Tuzofata ibirwanisho tujabuke, twinjire mu gihugu ca Kanani imbere ya Yehova+, ariko intoranwa yacu izoba hakuno ya Yorodani.» 33 Musa araheza afata ubwami bwa Sihoni+ umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi+ umwami wa Bashani, ni ukuvuga ako karere kose n’ibisagara be n’ibigwati biri muri ko, abiha abakomoka kuri Gadi, abakomoka kuri Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ umuhungu wa Yozefu.
34 Abakomoka kuri Gadi baca bubaka* Diboni+, Ataroti+, Aroweri+, 35 Ataroti-Shofani, Yazeri+, Yogibeha+, 36 Beti-Nimura+ na Beti-Harani+, ibisagara bikingijwe impome, bubaka n’impongore z’amabuye z’ibitungwa vyabo. 37 Abakomoka kuri Rubeni na bo bubaka Heshiboni+, Eleyale+, Kiriyatayimu+, 38 Nebo+ na Bayali-Meyoni+, baraheza babiha ayandi mazina. Bubaka na Sibuma, baca batangura guha amazina mashasha ivyo bisagara bubatse.
39 Abakomoka kuri Makiri+ umuhungu wa Manase baca batera i Gileyadi barahafata, birukana Abamori babayo. 40 Aho i Gileyadi Musa aca ahaha Makiri umuhungu wa Manase, na we aca atangura kuhaba+. 41 Yayiri umuhungu wa Manase na we aja gutera ibigwati vyabo vy’amahema arabifata, aca avyita Havoti-Yayiri*+. 42 Noba na we aja gutera i Kenati n’udusagara tuhegukira* maze arahafata, aca ahitirira izina ryiwe Noba.
33 Izi ni zo ngendo Abisirayeli bagize igihe bava mu Misiri+ hakurikijwe imigwi y’ingabo zabo+, bayobowe na Musa na Aroni+. 2 Musa yagenda arandika aho baza barahagarara mu rugendo rwabo, nk’uko Yehova yari yabimutegetse. Izi ni zo ngendo bagize, bava hamwe baja ahandi+: 3 ku musi ugira 15 w’ukwezi kwa mbere+ ni ho bava i Ramesesi+. Ku musi nyene ukurikira Pasika+, basohotse bitekaniye* Abanyamisiri bose babona. 4 Ico gihe Abanyamisiri bariko bahamba imfura zabo zose Yehova yari yishe+, kuko Yehova yari yashikije urubanza yaciriye imana zabo+.
5 Nuko Abisirayeli bava i Ramesesi bakambika i Sukoti+. 6 Hanyuma bava i Sukoti bakambika ahitwa Etamu+ ku rubibe rw’ubugaragwa. 7 Maze bava i Etamu basubira inyuma, bagenda berekeza i Pihahiroti aharabana n’i Bayali-Zefoni+, hanyuma bakambika hafi ya Migidoli+. 8 Hanyuma bava i Pihahiroti, baca hagati mu kiyaga+ berekeza mu bugaragwa+, maze bagira urugendo rw’imisi itatu mu bugaragwa bwa Etamu+, baraheza bakambika i Mara+.
9 Hanyuma bava i Mara baja ahitwa Elimu. Aho i Elimu hariho amariba y’amazi 12 n’ibigazi 70. Nuko bakambika ng’aho+. 10 Mu nyuma bava i Elimu bakambika hafi y’ikiyaga Gitukura. 11 Inyuma y’aho, bava ku kiyaga Gitukura bakambika mu bugaragwa bwa Sini+. 12 Baca bava mu bugaragwa bwa Sini bakambika i Dofuka. 13 Mu nyuma bava i Dofuka bakambika i Alushi. 14 Hanyuma bava i Alushi bakambika i Refidimu+, kandi ng’aho nta mazi yo kunywa yariho. 15 Maze bava i Refidimu bakambika mu bugaragwa bwa Sinayi+.
16 Hanyuma bava mu bugaragwa bwa Sinayi bakambika i Kiburoti-Hatava+. 17 Baca bava i Kiburoti-Hatava bakambika i Hazeroti+. 18 Hanyuma bava i Hazeroti bakambika i Ritima. 19 Baca bava i Ritima bakambika i Rimoni-Peresi. 20 Baraheza bava i Rimoni-Peresi bakambika i Libuna. 21 Hanyuma bava i Libuna bakambika i Risa. 22 Baca bava i Risa bakambika i Kehelata. 23 Maze bava i Kehelata bakambika ku musozi Sheferi.
24 Inyuma y’aho, bava ku musozi Sheferi bakambika i Harada. 25 Hanyuma bava i Harada bakambika i Makeloti. 26 Baca bava+ i Makeloti bakambika i Tahati. 27 Hanyuma bava i Tahati bakambika i Tera. 28 Baca bava i Tera bakambika i Mitika. 29 Mu nyuma bava i Mitika bakambika i Hashimona. 30 Ubukurikira bava i Hashimona bakambika i Moseroti. 31 Baca bava i Moseroti bakambika i Bene-Yakani+. 32 Inyuma y’aho, bava i Bene-Yakani bakambika i Hori-Hagidigadi. 33 Baca bava i Hori-Hagidigadi bakambika i Yotibata+. 34 Hanyuma bava i Yotibata bakambika i Aburona. 35 Baca bava i Aburona bakambika i Eziyoni-Geberi+. 36 Maze bava i Eziyoni-Geberi bakambika mu bugaragwa bwa Zini+, ni ukuvuga i Kadeshi.
37 Mu nyuma bava i Kadeshi bakambika ku musozi Hori+, ku rubibe rw’igihugu ca Edomu. 38 Nuko Aroni umuherezi aduga umusozi Hori nk’uko Yehova yari yabimutegetse, hanyuma apfirayo. Hari mu mwaka ugira 40 Abisirayeli bavuye mu Misiri, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu+. 39 Aroni yari afise imyaka 123 igihe yapfira ku musozi Hori.
40 Umwami wa Aradi+, Umunyakanani yaba i Negebu mu gihugu ca Kanani, yumva ko Abisirayeli bariko baraza.
41 Mu nyuma bava ku musozi Hori+ bakambika i Zalumona. 42 Baca bava i Zalumona bakambika i Punoni. 43 Hanyuma bava i Punoni bakambika i Oboti+. 44 Baraheza bava i Oboti bakambika ahitwa Iye-Abarimu, ku rubibe rwa Mowabu+. 45 Mu nyuma bava ng’aho Iyimu* bakambika i Diboni-Gadi+. 46 Baca bava i Diboni-Gadi bakambika i Alumoni-Dibulatayimu. 47 Hanyuma bava i Alumoni-Dibulatayimu bakambika mu misozi ya Abarimu+ hafi ya Nebo+. 48 Amaherezo, bava mu misozi ya Abarimu bakambika mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani hafi y’i Yeriko+. 49 Nuko babandanya gukambika iruhande ya Yorodani, kuva i Beti-Yeshimoti gushika i Abeli-Shitimu+ mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu.
50 Yehova aca abwira Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko ati: 51 «Bwira Abisirayeli uti: “Mugira mujabuke Yorodani mwinjire mu gihugu ca Kanani+. 52 Mutegerezwa kwirukana ababa muri ico gihugu bose, mumenagure ibishusho vyabo bikozwe mu mabuye+ no mu vyuma*+, mwongere musambure ibibanza* basengeramwo+. 53 Muzokwigarurira ico gihugu mukibemwo, kuko nzokibaha kikaba rwanyu+. 54 Muzogabura ico gihugu mu miryango yanyu mukoresheje ubupfindo+. Umuryango ugizwe na benshi muzowuha intoranwa nini, uwugizwe na bakeyi na wo muwuhe intoranwa ntoyi+. Ubupfindo ni bwo buzokwerekana intoranwa y’umwumwe wese. Muzoronka amatongo y’intoranwa hisunzwe imiryango ya ba sokuru banyu+.
55 Ariko nimutirukana ababa muri ico gihugu ngo bababise+, abo muzosigaza bazoba nk’ibintu bibazibura mu maso be n’amahwa abazibura mu mbavu. Bazobatoteza mu gihugu muzoba mubamwo+, 56 kandi igihano nari niyumviriye kubaha nzoca ndagiha mwebwe+.”»
34 Yehova yongera kubwira Musa ati: 2 «Tegeka Abisirayeli uti: “Nimwinjira mu gihugu ca Kanani+, muzotorana ico gihugu mwisunze izi mbibe+:
3 Urubibe rwanyu rwo mu bumanuko ruzohera mu bugaragwa bwa Zini, rugende rubangikanye n’igihugu ca Edomu. Mu buseruko na ho ruzotangurira ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+. 4 Ruzoca rukata ruce mu bumanuko bw’umudugo wa Akurabimu+, rubandanye i Zini. Ruzomanuka rushike mu bumanuko bw’i Kadeshi-Baruneya+ hanyuma ruduge i Hazari-Adari+, rubandanye n’i Azimoni. 5 Ruvuye i Azimoni ruzoca rukata ruce mu mwonga* wa Misiri, ruheze rugarukire kuri ca kiyaga*+.
6 Urubibe rwanyu rwo mu burengero ni ikiyaga Kinini* be n’inkengera zaco. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu burengero+.
7 Uru ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko: ruzohera ku kiyaga Kinini rugende gushika ku musozi Hori. 8 Ruzoca ruva ku musozi Hori ruce i Lebo-Hamati*+, rubandanye gushika i Zedadi+. 9 Hanyuma ruzoca rumanuka i Zifuroni, rugarukire i Hazari-Enani+. Urwo ni rwo ruzoba urubibe rwanyu rwo mu buraruko.
10 Urubibe rwanyu rwo mu buseruko ruzova i Hazari-Enani rushike i Shefamu. 11 Ruzoca ruva i Shefamu ruje i Ribula mu buseruko bwa Ayini, hanyuma rumanuke rurengane umusozi uri mu buseruko bw’ikiyaga ca Kinereti*+. 12 Ruzobandanya gushika ku ruzi Yorodani, ruheze rugarukire ku kiyaga c’Umunyu+. Ico ni co kizoba igihugu canyu+ n’imbibe zaco.”»
13 Musa aca ategeka Abisirayeli ati: «Ico ni co gihugu muzogabura biciye ku bupfindo+. Yehova yategetse ko gihabwa imiryango icenda n’igice, 14 kuko umuryango w’Abarubeni, uw’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase yamaze kuronka intoranwa yayo+, hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. 15 Iyo miryango ibiri n’igice yaramaze kuronka intoranwa yayo mu karere ko hakurya y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko, amaja mu buseruko+.»
16 Yehova yongera kubwira Musa ati: 17 «Aya ni yo mazina y’abagabo bazobagaburira ico gihugu: Eleyazari+ umuherezi na Yosuwa+ mwene Nuni. 18 Muzotora umukuru umwumwe ku muryango kugira babafashe kugabura ico gihugu+. 19 Aya ni yo mazina y’abo bakuru: mu muryango wa Yuda+, ni Kalebu+ mwene Yefune. 20 Mu muryango wa Simeyoni+, ni Shemuweli umuhungu wa Amihudi. 21 Mu muryango wa Benyamini+, ni Elidadi umuhungu wa Kisiloni. 22 Mu muryango wa Dani+, ni Buki umuhungu wa Yogili. 23 Mu bahungu ba Yozefu+, ku ruhande rw’umuryango wa Manase+, ni Haniyeli umuhungu wa Efodi, 24 ku ruhande rw’umuryango wa Efurayimu+ na ho, ni Kemuweli umuhungu wa Shifutani. 25 Mu muryango wa Zabuloni+, ni Elizafani umuhungu wa Parunaki. 26 Mu muryango wa Isakari+, ni Palitiyeli umuhungu wa Azani. 27 Mu muryango wa Asheri+, ni Ahihudi umuhungu wa Shelomi. 28 Mu muryango wa Nafutali+ na ho, ni Pedaheli umuhungu wa Amihudi.» 29 Abo ni bo Yehova yategetse ngo bagaburire Abisirayeli igihugu ca Kanani+.
35 Yehova abandanya kubwira Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani+ hafi y’i Yeriko ati: 2 «Bwira Abisirayeli bazohe Abalewi ibisagara vyo kubamwo bakuye ku ntoranwa yabo+. Bazobaha n’amatongo yo kuragiramwo akikuje ivyo bisagara+. 3 Bazoba muri ivyo bisagara, amatongo na yo abe ay’ibitungwa vyabo, ibintu vyabo n’ibindi bikoko. 4 Uburagiro bw’ibisagara muzoha Abalewi buzoba bungana n’intambwe* 1.000 uhereye ku mpande zose z’uruzitiro rw’igisagara. 5 Muhereye inyuma y’igisagara, muzopima intambwe 2.000 mu buseruko, intambwe 2.000 mu bumanuko, intambwe 2.000 mu burengero n’intambwe 2.000 mu buraruko. Igisagara kizoba kiri hagati. Ubwo ni bwo buzoba uburagiro bw’ivyo bisagara.
6 Muzoha Abalewi ibisagara vy’ubuhungiro 6+ kugira ngo uwishe umuntu ahungireyo+. Muzobaha n’ibindi bisagara 42. 7 Ibisagara vyose muzoha Abalewi bizoba ari 48 hamwe n’uburagiro bwavyo+. 8 Ibisagara muzobaha bizova ku matongo y’Abisirayeli+. Umuryango ugizwe na benshi uzotanga vyinshi, uwugizwe na bakeyi na wo utange bikeyi+. Umuryango wose uzoha ibisagara Abalewi wisunze itongo ry’intoranwa uzoba waronse.»
9 Yehova yongera kubwira Musa ati: 10 «Bwira Abisirayeli uti: “Mugira mujabuke Yorodani mwinjire mu gihugu ca Kanani+. 11 Muze muhitemwo ibisagara vy’ubuhungiro vyoroshe gushikamwo kugira ngo uwishe umuntu atabishaka ashobore kubihungiramwo+. 12 Ivyo bisagara ni vyo muzohungiramwo uwuhora amaraso y’uwishwe+, kugira ngo uwishe umuntu ntapfe atararenguka imbere y’ishengero ngo bamucire urubanza+. 13 Iyo ni yo ntumbero y’ivyo bisagara bitandatu vy’ubuhungiro muzotanga. 14 Muzotanga ibisagara bitatu hakuno y’uruzi Yorodani+, n’ibindi bitatu mu gihugu ca Kanani+, kugira bibe ibisagara vy’ubuhungiro. 15 Abisirayeli n’abanyamahanga+ hamwe n’umwimukira aba muri bo, bazohungira muri ivyo bisagara bitandatu. Uwuzoba yishe umuntu atabishaka ni vyo azohungiramwo+.
16 Ariko umuntu niyakubita uwundi icuma akamwica, azoba ari umwicanyi. Uwo mwicanyi ategerezwa kwicwa+. 17 Umuntu niyatera* uwundi ibuye rishobora kumwica hanyuma agapfa, azoba ari umwicanyi. Uwo mwicanyi ategerezwa kwicwa. 18 Canke niyamukubita ikintu c’igiti gishobora kumwica hanyuma agapfa, azoba ari umwicanyi. Uwo mwicanyi ategerezwa kwicwa.
19 Uwuhora amaraso y’uwishwe ni we azokwica uwo mwicanyi. Aramutse amubonye azoca amwica. 20 Umuntu niyasunura uwundi kubera amwanka canke akamutera ikintu ashaka kumugirira nabi* hanyuma agapfa+, 21 canke na ho akamukubita ingumu kubera amwanka hanyuma agapfa, uwamukubise ategerezwa kwicwa. Azoba ari umwicanyi. Uwuhora amaraso y’uwishwe aramutse amubonye azoca amwica.
22 Ariko niyamuhenura kw’isanganya atari asanzwe amwanka canke akamutera ikintu mugabo atashaka kumugirira nabi*+, 23 canke na ho akamutiburirako ibuye atamubonye, atari asanzwe amwanka kandi ata kibi yamwipfuriza, hanyuma uwo muntu agapfa, 24 ishengero* rizoca rica urubanza hagati y’uwamwishe hamwe n’uwuhora amaraso y’uwishwe ryisunze ayo mategeko+. 25 Ishengero rero rizomukingira, rimukize uwuhora amaraso y’uwishwe maze rimusubize mu gisagara c’ubuhungiro yari yahungiyemwo. Ategerezwa kugumayo gushika umuherezi mukuru yarobanujwe amavuta meranda* apfuye+.
26 Ariko uwo muntu yishe uwundi niyarenga urubibe rw’igisagara c’ubuhungiro yahungiyemwo, 27 hanyuma uwuhora amaraso y’uwishwe akamusanga inyuma y’igisagara yahungiyemwo akamwica, ntazokwagirwa n’amaraso. 28 Uwo muntu yabwirizwa kuguma mu gisagara yahungiyemwo gushika umuherezi mukuru apfuye. Ariko umuherezi mukuru apfuye, arashobora kugaruka mw’itongo ryiwe+. 29 Ayo ni yo mategeko muzokwisunga mu guca imanza aho muzoba muba hose, uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana.
30 Uwishe umuntu abwirizwa kwicwa+ abanje kwagirizwa n’ivyabona+. Ariko ibivuzwe n’icabona kimwe gusa ntibishobora kwicisha umuntu. 31 Ntimuze mwakire amahera yo gucungura umwicanyi kuko ategerezwa gupfa+. 32 Ntimuze mwakire amahera yo gucungura umuntu yahungiye mu gisagara c’ubuhungiro kugira asubire mw’itongo ryiwe umuherezi mukuru atarapfa.
33 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo, kuko amaraso ahumanya igihugu+. Igihugu ntigishobora guhumanurwa* amaraso yasesetse muri co kiretse hasesetse amaraso y’uwayasheshe+. 34 Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo ari co nanje mbamwo, kuko jewe Yehova mba hagati y’Abisirayeli+.”»
36 Abakuru b’imiryango y’abakomoka kuri Gileyadi umuhungu wa Makiri+, Makiri umuhungu wa Manase wo mu miryango y’abahungu ba Yozefu, begera Musa n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli, 2 bababwira bati: «Yehova yategetse databuja kugaburira igihugu Abisirayeli akoresheje ubupfindo+ kugira kibe intoranwa yabo. Yehova kandi yategetse databuja guha intoranwa ya mwenewacu Zelofehadi abakobwa biwe+. 3 Nibarongorwa n’Abisirayeli bo mu yindi miryango, intoranwa y’abo bagore na yo nyene izoca iva mu muryango wa ba sokuru bacu ije mu miryango bagiyemwo. Izoba ikuwe ku ntoranwa yacu. 4 Yubile+ y’Abisirayeli niyagera, intoranwa y’abo bagore izoca yegukira burundu imiryango bazoba bagiyemwo. Intoranwa yabo rero izoba ikuwe ku ntoranwa y’umuryango wa ba sokuru bacu.»
5 Musa ategetswe na Yehova, aca abwira Abisirayeli ati: «Ivyo abakomoka kuri Yozefu bavuze ni vyo. 6 Ibi ni vyo Yehova ategetse ku bijanye n’abakobwa ba Zelofehadi: “Barashobora kurongorwa n’uwo ari we wese bashatse. Ariko bakwiye kurongorwa n’umuhungu akomoka mu muryango wa se wabo. 7 Itongo ry’intoranwa ntirikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi. Abisirayeli bakwiye kugumya intoranwa ya ba sekuruza babo. 8 Umukobwa wese afise intoranwa mu miryango y’Abisirayeli, akwiye kurongorwa n’umuhungu ava mu muryango wa se+, kugira Abisirayeli bagumye intoranwa ya ba sekuruza babo. 9 Nta tongo ry’intoranwa rikwiye kuva mu muryango umwe ngo rije mu wundi, kuko imiryango y’Abisirayeli ikwiye kugumya intoranwa yayo.”»
10 Abakobwa ba Zelofehadi baca bakora ivyo Yehova yari yategetse Musa+. 11 Nuko Mahila, Tiruza, Hogula, Milika na Nowa, abakobwa ba Zelofehadi+, barongorwa n’abahungu ba benewabo na se. 12 Barongorwa n’abagabo bakomoka mu miryango ya Manase umuhungu wa Yozefu, kugira intoranwa yabo igume mu muryango wa se wabo.
13 Ayo ni yo mabwirizwa n’ingingo Yehova yahaye Abisirayeli biciye kuri Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande y’uruzi Yorodani hafi y’i Yeriko+.
Mu giheburayo havuga ngo «rw’abahungu bose ba Isirayeli.»
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari Umulewi.
Canke «yisunze aho akadarapo kabo gaherereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Canke «gucunga», «gukora ibikorwa.»
Canke «akadarapo.»
Yitwa kandi Duweli.
Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Canke «narejeje.»
Canke «igikingirizo.»
Canke «igikingirizo.»
Canke «igikingirizo.»
Canke «amakadrema.»
Urumambo ni igiti canke icuma gisongoye bashinga mu kuzimu kugira bafatisheko ikintu kanaka.
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari Umulewi.
Canke «vy’uburiza.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Gera imwe yangana n’amagarama 0,57. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «isandugu y’icabona.»
Tahashi ni ibikoko biba mu mazi. Mu gifaransa bavyita phoques.
Canke «iminiho.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «amabirika.»
Canke «iminengo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku kibando.»
Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu giheburayo havuga ngo «umutwaro.»
Canke «n’amavuta yo kurobanuza.»
Ni ukuvuga ca gitambara gikozwe mu bwoya bw’impene.
Canke «igikingirizo.»
Canke «igikingirizo.»
Canke «amakadrema.»
Mu giheburayo havuga ngo «babwirizwa.»
Canke «niyata umurongo.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Iryo tako biboneka ko ryerekeza ku bihimba vy’irondoka.
Canke «ryonda.» Gushobora kuba ari ugutakaza ubushobozi bwo kwibaruka.
Canke «nibibe gutyo nyene. Nibibe gutyo nyene.»
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Ni umuntu yagize indagano yo kwihebera Imana. Raba Insiguro y’amajambo (Umunaziri).
Mu giheburayo havuga ngo «atyorora umutwe wiwe.» Bishobora kuba vyasobanura kureka umushatsi wiwe ugasubira gukura.
Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Mu giheburayo havuga ngo «natume mu maso hiwe habamurikira.»
Canke «yaciye arirobanura.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «kikegurirwa.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Canke «akabakure.»
Wari umwagazi w’isuguru.
Yari imyagazi y’amasuguru.
Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «abazungagiza.» Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Canke «kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «rya hema ryeranda ry’icabona.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «rya hema ryeranda ry’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe ingabo zabo.»
Yitwa kandi Yetiro.
Canke «urashobora kutubera ijisho.»
Iryo zina risobanura ngo «kururumba.» Ni ukuvuga umuriro mwinshi.
Bayisya ku nsyo z’amaboko.
Canke «umurezi w’umugabo.»
Canke «nimwiyeze.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagabo bagenda n’amaguru.» Iyo mvugo ishobora kuba yerekeza ku bagabo b’inguvu bashoboye kurwana.
Canke «kwifata nk’abahanuzi.»
Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Homeri imwe yangana n’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Ni ukuvuga imva z’abanyameru.
Canke «umuntu yicisha bugufi cane», «umuntu yitonda cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni umwizigirwa mu nzu yanje yose.»
Mu giheburayo havuga ngo «umunwa ku wundi.»
Canke «yera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «mukama wanje.»
Canke «gutata.»
Canke «Yehoshuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Canke «mu mubande.»
Canke «umusoko w’inzabibu.»
Iryo zina risobanura ngo «umusoko w’inzabibu.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuko ari umukate kuri twebwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «hamwe wokwica abo bantu nk’umuntu umwe.»
Canke «yuzuye urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyaruka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «atagize agatima nk’akabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «narahiye ndugije ukuboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «kubera ubumaraya bwanyu.»
Canke «kungira umwansi wanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «baca baragandara cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura kuri.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
Wari umwagazi w’isuguru.
Canke «iyaruka.»
Canke «ibifungurwa.» Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «z’umushuzo.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «z’umushuzo.»
Canke «azoba atutse.»
Canke «ategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Canke «mukora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «ushaka kudukandamiza?»
Mu giheburayo havuga ngo «ushaka kunogora amaso aba bagabo?»
Canke «ko atari ivyo nikurira mu mutima.»
Canke «ikimenyetso.»
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’ihema ryeranda ry’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»
Mu giheburayo havuga ngo «uw’ahandi.» Ni ukuvuga uwutari uwo mu muryango wa Aroni.
Ni ukuvuga irido y’aheranda cane.
Canke «umushuzo.»
Ni ukuvuga ikintu cagizwe ceranda mu kucegurira Imana burundu, ata vyo kukigaruza.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «shekeli nyeranda.»
Gera imwe yangana n’amagarama 0,57. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
Canke «ikidari», «inkoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni isezerano ry’umunyu.» Ni ukuvuga isezerano ryamaho kandi ridahinduka.
Canke «intoranwa.»
Canke «iyaruka.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «batarambika ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «kurandurwa mu Bisirayeli.»
Canke «abwirizwa kurandurwa mw’ishengero.»
Iryo zina risobanura ngo «gushwana.»
Canke «bashwanira.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»
Canke «ryagutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Iryo zina risobanura ngo «gutikiza.»
Canke «z’ubumara buturira.»
Canke «umubande.»
Canke «n’imyonga.»
Canke «nimuriririmbire.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urabana n’ubugaragwa», «urabana n’agahinga.»
Canke «tuhakikuje.»
Ashobora kuba ari Mowabu canke Kemoshi.
Canke «gutata.»
Biboneka ko ari uruzi Efurate.
Canke «igihugu.»
Canke «impembo y’umupfumu.»
Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa ivyara.»
Mu giheburayo havuga ngo «yugurura akanwa k’iyo ndogobwa.»
Canke «kuko inzira yawe ihushanye n’ivyo ngomba.»
Mu giheburayo havuga ngo «aca ashira iri jambo mu kanwa ka Balamu.»
Canke «ngo yicuze.»
Canke «amageza yo kugirira nabi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Imana yiwe.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aharabana n’ubugaragwa», «aharabana n’agahinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «ko vyari vyiza mu maso ya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyasubiye kugerageza kuraguza.»
Canke «imibande.»
Canke «uruvyaro.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «nikuriye mu mutima.»
Canke «mu bantu banje.»
Canke «mu misi y’iherezo.»
Canke «imisaya.»
Mu giheburayo havuga ngo «Kayine.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Mu giheburayo havuga ngo «na we.»
Canke «bagiye kwifatanya.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «hakurikijwe igitigiri c’amazina yanditse.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Mu giheburayo havuga ngo «arimwo impwemu.»
Canke «ku cubahiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «y’akamoto karuhura.»
Yari imyagazi y’amasuguru.
Canke «izuba rirenze.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati ya ya migoroba ibiri.»
Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Hini imwe yangana n’amalitiro 3,67. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»
Yari imyagazi y’amasuguru.
«Kwibabaza» ni ijambo ririmwo ibintu vyinshi bijanye no kwiyanka harimwo no kwisonzesha.
Mu giheburayo havuga ngo «akamoto karuhura.»
Canke «indagano yo kwibabaza.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Canke «mu gisoda co kurwanya.»
Canke «mu gisoda.»
Canke «amakambi azitijwe impome.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira ngo Yehova azoze aribuka Abisirayeli.» Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»
Canke «mu mubande.»
Canke «iyaruka.»
Canke «amararo.»
Canke «basubira kwubaka.»
Iryo zina risobanura ngo «ibigwati vy’amahema vya Yayiri.»
Canke «tuhakikuje.»
Mu giheburayo havuga ngo «badugije amaboko.»
Izina «Iyimu» rishobora kuba ari impfunyapfunyo y’izina «Iye-Abarimu.»
Canke «mu vyuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.
Ni ikiyaga Mediterane.
Canke «ruce ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Ni ikiyaga ca Genesareti, icitwa kandi ikiyaga ca Galilaya.
Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Canke «niyakubita.»
Mu giheburayo havuga ngo «yabanje kumubundira.»
Mu giheburayo havuga ngo «atamubundiye.»
Ni ukuvuga abaserukira ishengero.
Canke «amavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «iyaruka.»
Canke «gutangirwa impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).