ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Yobu 1:1-42:17
  • Yobu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yobu
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yobu

YOBU

1 Mu gihugu ca Uzi hariho umugabo yitwa Yobu*+. Yari umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi+. 2 Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu. 3 Ibitungwa vyiwe vyari bigizwe n’intama 7.000, ingamiya 3.000, inka 1.000 hamwe n’indogobwa* 500. Yari afise n’abasuku benshi cane, ku buryo yari umuntu ahambaye kuruta abantu bose bo mu buseruko.

4 Umwe wese mu bahungu biwe yari afise umusi wo gutegura umusi mukuru ku rugo rwiwe. Baca batumira bashiki babo batatu kugira basangire ibifungurwa n’ibinyobwa. 5 Bose bahejeje kugira iyo misi mikuru, Yobu yaca abatumako kugira abatyorore. Maze Yobu yarazinduka kare mu gitondo, agatangira umwe wese ikimazi giturirwa+, kuko yibwira ati: «Hari aho abahungu banje boba bacumuye, bagatuka Imana mu mitima yabo.» Ukwo ni ko Yobu yama abigenza+.

6 Maze umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani+ yinjirana na bo+.

7 Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+.» 8 Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi.» 9 Shetani yishura Yehova ati: «Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa+? 10 Ntiwamukikuje uruzitiro+, ukarukikuza n’inzu yiwe n’ivyo afise vyose? Warahezagiye ivyo akora vyose+, kandi ibitungwa vyiwe vyuzuye igihugu cose. 11 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, umwake ivyo afise vyose, urabe ko atakuvuma imbonankubone.» 12 Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ivyo afise vyose biri mu maboko yawe*! Ariko we ntihagire ico umugira.» Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova+.

13 Umusi umwe, abahungu ba Yobu n’abakobwa biwe bariko barasangira ibifungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru+. 14 Nuko haza umuntu maze abwira Yobu ati: «Inka zawe zariko zirarima, n’indogobwa ziriko zirisha iruhande yazo. 15 Abasabeya baciye batera barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»

16 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Umuriro uvuye ku Mana wakorotse* uvuye mw’ijuru, uca urigata za ntama n’abasuku bawe bose. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»

17 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abakaludaya+ bigabuyemwo imigwi itatu, baca bagaba igitero kuri za ngamiya barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»

18 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abahungu bawe n’abakobwa bawe bariko barasangira imfungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru. 19 Ubwo nyene haciye haza umuyaga ukomeye uvuye mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’iyo nzu, ica igwa kuri abo bana bose barapfa. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»

20 Yobu aca arahaguruka, yitaburirako impuzu yiwe yongera yimosha umushatsi wose. Hanyuma arapfukama, arunama mu maso hiwe hashika hasi 21 maze avuga ati:

«Navuye mu nda ya mama ndi gusa,

kandi nzosubira inyuma ndi gusa+.

Yehova ni we yampaye+, kandi Yehova ni we anyatse.

Izina rya Yehova niribandanye gushemezwa.»

22 Muri ivyo vyose Yobu ntiyigeze acumura canke ngo yagirize Imana ibintu bibi*.

2 Hanyuma umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani yinjirana na bo ahagarara imbere ya Yehova+.

2 Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+.» 3 Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi. Aracumiye ku gutungana kwiwe+ naho uguma unsaba ngo ndamurandure*+ ata co ndamuhora.» 4 Ariko Shetani yishura Yehova ati: «Urukoba rukabwa urundi. Mbere n’ivyo umuntu afise vyose yobitanga kugira arokore igufa. 5 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, usinzikaze ubuzima bwiwe*, urabe ko atakuvuma imbonankubone+.»

6 Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ng’uyo ari mu kuboko kwawe*! Ariko gusa ntumwice.» 7 Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova maze ateza Yobu ibihute bikaze*+, kuva mu kirenge gushika ku mutwe. 8 Yobu aca yicara mu minyota+, araheza atora urujo rwo kwiyagaza.

9 Vyakabaye kera, umugore wiwe amubwira ati: «Mbega uracumiye ku gutungana kwawe? Tuka Imana upfe!» 10 Ariko Yobu amwishura ati: «Uvuga nk’umugore atagira ubwenge. None twokwakira ivyiza gusa bivuye ku Mana, ntitwakire n’ibibi na vyo+?» Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura n’iminwa yiwe+.

11 Nuko abagenzi batatu ba Yobu ari bo Elifazi+ w’i Temani, Biludadi+ w’i Shuhi+ na Zofari+ w’i Nayama bumva ivyago vyose vyari vyamushikiye. Baca basezerana guhurira hamwe kugira baje kwa Yobu kumuremesha no kumuhoza. 12 Bamubonye bakiri kure, ntibamenye n’uko yari Yobu. Baca batangura kurira cane, batabura impuzu zabo, basurira umukungugu mu kirere no ku mitwe yabo+. 13 Baguma bicaranye na we hasi imisi indwi n’amajoro indwi. Nta n’umwe yamubwira ijambo na rimwe, kuko babona ko ububabare yarimwo bwari bwinshi cane+.

3 Inyuma y’ivyo, Yobu afata ijambo, atangura kuvuma umusi yavukiyeko*+. 2 Avuga ati:

 3 «Umusi navukiyeko uragapfa+,

hamwe na rya joro bavuga ngo: “Umuhungu yavutse*.”

 4 Uwo musi nucike umwiza.

Imana iri mw’ijuru ntikawiteho.

Umuco ntukawuboneshereze.

 5 Umwiza w’umuzitanya* nuwegukire.

Igicu c’imvura nikibe hejuru yawo.

Ibituma umusi ucika umwiza nibiwutere ubwoba.

 6 Iryo joro niricike umwijima+.

Ntirikabemwo umunezero mu misi igize umwaka,

kandi ntirigaharurwe mu misi igize amezi.

 7 Emwe, iryo joro niricike ingumba,

ntiryigere ribamwo umunezero.

 8 Abavuma imisi nibarivume,

barya bashobora gukangura Lewiyatani*+.

 9 Inyenyeri zo ku mugoroba waryo nizicike umwijima.

Niririndire umuco wo ku murango riwubure,

ntiryigere ribona imishwarara yo mu mutwenzi.

10 Kuko ritugaye inda ya mama+,

canke ngo rihishe amaso yanje ivyago.

11 Kubera iki ntapfuye nkivuka?

Kuki ntavuye mu nda ngaca ncikana+?

12 Kuki habonetse ibibero binyakira

hamwe n’amabere nonka?

13 Erega ubu mba niryamiye ata nkomanzi+.

Mba nisinziririye kandi niruhukiye+

14 ndi kumwe n’abami b’isi n’abajanama babo,

barya biyubakira inyubakwa, ariko ubu zikaba ari umusaka*,

15 canke kumwe n’abaganwa bari batunze inzahabu,

bakagira n’amazu yuzuye ifeza.

16 Kubera iki ntabaye nk’inda ikorotse,

nkamera nk’abana batigeze babona umuco?

17 Hariya n’ababisha ntibasubira gutera akajagari,

mbere n’abarushe baba biruhukiye+.

18 Hariya imbohe zose hamwe ziritekaniye.

Ntizumva amajwi y’abazihindagiza ku bikorwa.

19 Hariya abato n’abahambaye bose baba bangana+,

kandi n’umushumba ntaba akiganzwa na shebuja.

20 Kubera iki Imana iha umuco uwuri mu vyago,

igaha ubuzima abafise umutima udundumiwe+?

21 Kubera iki hari abipfuza urupfu ariko bakarubura+?

Barimba barurondera kuruta uko barondera itunga rinyegejwe,

22 kandi botamba bagatarika,

bakaryoherwa baramutse bashitse mu mva.

23 Kubera iki Imana iha umuco umuntu yazimiye,

ikawuronsa umuntu yatangiriye impande zose*+?

24 Kuko iminiho yanje isigaye ari yo bifungurwa vyanje+,

amaborogo yanje+ asigaye yisuka nk’amazi.

25 Ivyahora bintera ubwoba ni vyo vyanshikiye,

kandi ivyo nahora ntinya ni vyo vyambayeko.

26 Nta mahoro, nta gahengwe canke akaruhuko nigeze ndonka,

ariko ivyago biguma bikurakuranwa kuri jewe.»

4 Elifazi+ w’i Temani aca yishura ati:

 2 «Mbega uwogira ico akubwiye wovyihanganira?

Ariko hari uworeka kugira ico avuze ga yemwe!

 3 Ni ivy’ukuri ko wakosoye benshi,

kandi wahora ukomeza abagoyagoya.

 4 Amajambo yawe yarahagurutsa uwutsitaye,

kandi warakomeza abadashobora guhagarara.

 5 Ariko ubu ni wewe bishikiye, none raba urarengewe*!

Ni wewe bikozeko, none ehe urahagaritse umutima!

 6 Mbega ugutinya Imana kwawe ntigutuma uyizigira?

Ugutungana kwawe+ ntigutuma ugira icizigiro?

 7 Mbwira nawe: Hari umuntu w’intungane yigeze ahona?

Ni ryari umuntu w’umugororotsi yigeze atikira?

 8 Ku vyo maze kubona, abarima* ibibi

n’ababiba ivyago, ni vyo nyene bimbura.

 9 Batikizwa n’impemu z’Imana,

bakarandurwa n’igihuhusi c’ishavu ryayo.

10 Intambwe iraroha, imikangara y’intambwe ikivuga,

ariko n’amenyo y’intambwe zikomeye* aravunagurika.

11 Intambwe irapfa iyo ibuze ico ifata,

ivyana vyayo bigashwiragira.

12 Hari ijambo numvise mw’ibanga,

ugutwi kwanje kwararyumvise mu bwongoshwe.

13 Nareretswe ibintu bitesha umutwe mw’ijoro,

igihe abantu baba batwawe n’agatiro.

14 Naciye ntangura kujugumira cane,

amagufa yanje yose aradegedwa,

15 maze impwemu inca mu maso,

ubwoya bwo ku mubiri wanje buramerereza.

16 Yaciye ihagarara idakakaza,

ariko sinabonye uko yasa.

Nabona ikintu imbere y’amaso yanje.

Nuko haba agacerere, hanyuma numva ijwi rivuga riti:

17 “Mbega umuntu buntu yoba intungane kurusha Imana?

Umuntu yoba uwutyoroye gusumba Uwamuremye?”

18 Raba n’abasavyi bayo ntibizera,

mbere n’abamarayika* bayo irabatora amahinyu.

19 Hari akantu rero ababa mu mazu y’ibumba,

imishinge yayo ikaba iri mu mukungugu+!

Bafyonyoka ningoga nka kurya kw’agakoko*.

20 Bafyonyagurwa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.

Baratikira ntihagire n’umwe avyitaho.

21 Bameze nk’ihema rifyaramye kubera baranduye umugozi waryo.

Bicwa no kubura ubwenge*.

5 Erega tabaza! Mbega hari uwukwishura?

Ni nde mu bamarayika beranda uzokwitura?

 2 Kuko ikijuju kizokwicwa n’umwikomo,

imburabwenge na yo ikicwa n’ukwipfuza.

 3 Nariboneye ukuntu ikijuju gishora imizi,

ariko aho kiba hagaca havumwa bukwi na bukwi.

 4 Abana baco nta mutekano bagira.

Bafyonyorerwa kw’irembo ry’igisagara+ ata gitabara.

 5 Ivyo cimbuye biribwa n’abashonje,

kandi naho vyoba biri mu mahwa barabikurayo.

Mbere n’ivyo gitunze hamwe n’ivy’abana baco bifatwa n’umutego.

 6 Erega ibibabaza ntibimera bivuye mu mukungugu,

kandi n’ingorane ntizinaga zivuye mw’ivu.

 7 Kurya nyene udusase tw’umuriro tutabura gutarukira mu kirere,

ni ko n’umuntu yavukiye guhura n’ivyago.

 8 Ariko iyaba nari wewe, nari kwitura Imana,

Imana ni yo nari gushikiriza urubanza rwanje,

 9 imwe ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge,

ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri.

10 Igwisha imvura kw’isi,

igatuma imirima ironka amazi.

11 Ishira hejuru abantu batobato,

ikaronsa ubukiriro abacitse intege.

12 Ihindura ubusa amayeri y’abantu b’urwenge,

ku buryo ivyo bakora biba impfagusa.

13 Ifatira abanyabwenge mu rwenge rwabo+,

ku buryo imigambi y’abanyamayeri ibatekurukana.

14 Bahura n’umwiza ku murango,

bakagenda barakabakaba izuba riva, nk’aho hoba ari mw’ijoro.

15 Ikiza umuntu inkota iva mu kanwa kabo,

ikarokora umukene mu maboko y’abakomeye,

16 ku buryo abantu batobato bagira icizigiro,

ariko abatagororotse ntibasubire gukurako umunwa.

17 Umve, hahiriwe umuntu Imana ikosora.

Ntiwanke rero gutozwa indero na Mushoboravyose!

18 Arakomeretsa ariko agatubika igikomere.

Aravuna ariko amaboko yiwe akaba ari yo avura.

19 Azogukiza ivyago bitandatu,

mbere n’ic’indwi nta co kizokugira.

20 Azogukiza urupfu mu gihe c’inzara,

mu gihe c’intambara na ho agukize inkota.

21 Azogukingira ururimi ruvuga ibintu bibabaza+,

kandi agatikizo nikaza ntuzogatinya.

22 Uzotwenga agatikizo n’inzara,

kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.

23 Amabuye yo mu gahinga nta co azokugira*,

kandi uzokwibanira amahoro n’ibikoko vyo mw’ishamba.

24 Uzokwibonera ko ihema ryawe ritekanye*.

Niwaja kuraba aho baragiye ibitungwa vyawe, uzosanga ata na kimwe kibuze.

25 Uzovyara abana benshi,

kandi abagukomokako bazogwira nk’ivyatsi vyo kw’isi.

26 Uzorinda upfa ugifise inguvu,

nka kurya kw’imiganda y’ingano bimbuye hageze.

27 Ivyo vyose twarabitohoje kandi ni ko biri.

Vyumve rero kandi uvyemere.»

6 Yobu aca yishura ati:

 2 «Ese iyaba umubabaro wanje+ wopimwe wose,

ugashirwa ku munzane uri kumwe n’ivyago vyanje!

 3 Kuko usigaye uremereye gusumba umusenyi wo ku biyaga.

Ni co gituma mvuga ntabanje kwiyumvira*+.

 4 Kuko imyampi ya Mushoboravyose yantobekeranije,

kandi ubumara bwayo buriko burankwiragiramwo+.

Ibintu biteye ubwoba biva ku Mana vyatonze kugira bindwanye.

 5 Mbega indogobwa yo mw’ishamba+ yokwabira ifise ubwatsi?

Canke impfizi y’inka yokwabira ifise ivyo irya?

 6 Mbega ivyo kurya bibishe vyoribwa bitagira umunyu?

Canke hari uburyohe buri mu mutobe w’igiterwa kitagira akanovera?

 7 Naranse gukora ku bintu mwene ivyo.

Bimeze nk’umucafu uri mu bifungurwa vyanje.

 8 Icompa Imana ikampa ico ndayisaba,

kandi igashitsa ico nipfuza!

 9 Ese iyaba Imana yokwemera kumfyonyora,

igatuma ukuboko kwayo ikankuraho+!

10 Erega n’ivyo vyonduhurira.

Notamba ngatarika naho ndi mu bubabare budahera,

kuko ntahakanye amajambo ya wa Mweranda+.

11 Mbega hari inguvu mfise zo kuguma ndindiriye+?

Hari ico niteze ku buryo nobandanya kubaho*?

12 Mbega noba nkomeye nk’igitandara c’ibuye?

Canke umubiri wanje woba ukozwe mu cuma*?

13 Mbega nokwirwanako gute

kandi ivyanje vyose vyarayogeye?

14 Uwanka kugaragariza urukundo* mugenziwe+,

na Mushoboravyose azoreka kumutinya+.

15 Benewacu barahemutse+ nk’uruzi rwo mu rushana,

nk’amazi y’inzuzi zo mu rushana aruhira gukama.

16 Zirirabura kubera ibibarafu birimwo ivyondo,

kandi muri zo haba hinyegejemwo urubura* rwashonze.

17 Ariko igihe kigeze, ziruma zikazimangana.

Iyo haje ubushuhe zirakama.

18 Izo nzuzi zirata inzira yazo,

zigatemba zija mu bugaragwa hanyuma zikazimangana.

19 Abadandaza* b’i Tema+ barazirondeye.

Ingenzi zivuye i Sheba*+ zarazirindiriye.

20 Baramaramaye kuko bataronse ico bari biteze.

Barashitseyo ariko bataha zirayoye.

21 Ukwo ni ko namwe mwambereye+.

Mwabonye ivyago bikomeye ndimwo muca muratinya+.

22 Mbega hari uwo nigeze mbwira nti: “Ngabira ikintu”?

Canke hari uwo nasavye ikintu kivuye mu butunzi bwiwe?

23 Mbega nabasavye ngo munkize umwansi,

canke ngo munkize abancinyiza?

24 Nimunyigishe, nanje ndaheza numvirize+.

Nimumfashe gutahura ikosa nakoze.

25 Amajambo y’ukuri ntababaza+!

Ariko ukunegurana kwanyu kumaze iki+?

26 Mbega mwagiye umugambi wo kunegura ivyo mvuga,

kandi ari amajambo y’umuntu yihebuye+, agururwa n’umuyaga?

27 Erega n’impfuvyi mwoyipfindira+,

kandi n’umugenzi wanyu bwite mwomugurisha+!

28 Ubu rero nimuhindukire mundabe,

kuko ntobabesha imbonankubone.

29 Ndabasavye musubire mwiyumvire, ntimuntahure nabi.

Ni ukuri subira mwiyumvire, kuko ukugororoka kwanje kukiri kwose.

30 Mbega ururimi rwanje rwoba ruvuga ibitagororotse?

Mwibaza ko ntashoboye kumenya ko ikintu ari kibi?

7 Mbega ubuzima bw’umuntu kw’isi ntibwuzuyemwo umuruho,

kandi imisi yiwe ntimeze nk’iy’umukozi w’umucangero+?

 2 Aguma yipfuza agatutu nka kurya kw’umushumba,

akaguma arindiriye impembo yiwe nk’umukozi w’umucangero+.

 3 Nanje narazwe amezi atagira akamaro,

mparurirwa amajoro yuzuyemwo ivyago+.

 4 Iyo ndyamye, nca ntangura kwibaza nti: “Nzovyuka ryari+?”

Ijoro rimbera rirerire, nkaguma nigaragura bukarinda buca*.

 5 Umubiri wanje wuzuyeko inyo n’ivyondo+.

Urukoba rwanje rwuzuyeko ibisebe n’amashira+.

 6 Imisi yanje inyaruka kurusha urushinge* rw’uwujisha impuzu+,

ikarangira ata n’icizigiro mfise+.

 7 Niwibuke ko ubuzima bwanje ari umuyaga+,

ko amaso yanje ata munezero* azosubira kubona.

 8 Ijisho ririko riranyitegereza ntirizosubira kumbona.

Amaso yawe azondondera, ariko nzoba nigiriye+.

 9 Nka kurya kw’igicu gitumuka kikazimangana,

ni ko n’uwugiye mu kuzimu atagaruka+.

10 Ntazogaruka muhira iwe,

aho yabaye ntihazoba hakimumenya+.

11 Ni co gituma ntazoreka kuvuga.

Nzovuga naho ntuntuye ku mutima.

Nzokwiganyira naho ndundumiwe+!

12 Mbaye ikiyaga canke urukoko rwo mu mazi,

ku buryo unshiriraho umurinzi?

13 Iyo mvuze nti: “Uburiri bwanje buzompoza,

igitanda canje kizogabanya amaganya yanje”,

14 uca untera ubwoba biciye ku ndoto,

ukanca ivutu biciye ku vyo nerekwa,

15 ku buryo nopfuma mpitamwo kunigwa,

ngahitamwo urupfu hako mbaho muri uyu mubiri+.

16 Ubuzima bwanje buranshisha+, singishaka kubaho.

Nunyirekere, kuko imisi yanje itumuka nk’impemu+.

17 Umuntu buntu ni iki ku buryo umwitwararika,

ukamugumizako umutima+?

18 Kubera iki umusuzuma buri gitondo,

ukaguma umugeza umwanya wose+?

19 Aho ntiworeka kuguma unshinze ijisho,

ukampa akanya ko kumira amate+?

20 Nimba naracumuye, bigutwaye iki wewe Musuzumyi w’abantu+?

Kuki untumberezako imyampi yawe?

Mbega nakubereye umuzigo?

21 Kuki utombabarira igicumuro canje,

ukirengagiza ikosa ryanje?

Kuko ngira nipfire nisubirire mu mukungugu+,

kandi uzondondera ariko ntuzombona.»

8 Maze Biludadi+ w’i Shuhi+ yishura ati:

 2 «Uzovuga gutyo gushika ryari+?

Amajambo ava mu kanwa kawe ni igihuhusi gusa!

 3 Mbega Imana yogoreka urubanza,

canke Mushoboravyose yogoramika ubutungane?

 4 Nimba abana bawe barayicumuyeko,

yabaretse rero bahanirwe ubugarariji bwabo.

 5 Ariko iyaba wogaruka ku Mana+,

ugatakambira Mushoboravyose ngo akubabarire,

 6 iyaba wari utyoroye vy’ukuri kandi ukaba ugororotse+,

yari kukwitaho*, ikagusubiza mu kibanza cawe ubereye.

 7 Naho intango yawe yoba ari ntoyi,

iherezo ryawe ryoba irikomeye+.

 8 Ndakwinginze ubaze abo hambere,

ushire umutima ku bintu ba sekuruza babo batohoje neza+.

 9 Kuko twebwe turi ab’ejo bundi, kandi nta co tuzi.

Imisi tumara kw’isi imeze nk’igitutu.

10 None ntibazokwigisha,

bakakubwira ivyo bazi*?

11 Mbega urufunzo rwokurira ahantu hatajaga?

Mbega irenga ryokura ata mazi rifise?

12 Bigitangura kunaga, ata n’uwurabica,

bitanga ibindi vyatsi vyose kwuma.

13 Iryo ni ryo herezo* ry’umuntu wese yibagira Imana.

Icizigiro c’umuntu atubaha Imana* kizozimangana.

14 Ivyizigiro vyiwe bishingiye ku busa.

Ukwizera kwiwe ntigukomeye, kumeze nk’inzu y’igitangurirwa.

15 Azokwegamira inzu yiwe, ariko ntizoguma ihagaze.

Azogerageza kuyishimikiza, ariko ntizoramba.

16 Ameze nk’igiterwa gitotahaye ku zuba,

imivyaro yaco irakwiragira mu murima+.

17 Imizi yiwe irasobekerana mu kirundo c’amabuye,

akironderera inzu mu mabuye*.

18 Ariko niyarandurwa* mu kibanza ciwe,

ico kibanza kizomwihakana, kivuge giti: “Sinigeze ndakubona+.”

19 Emwe, ukwo ni ko azozimangana*+,

hanyuma abandi bamere mu mukungugu yahoramwo.

20 Ni ukuri, Imana ntizota abantu b’intungane*,

canke ngo ishigikire* abantu b’ababisha.

21 Akanwa kawe izosubira kukuzuza akanyamuneza,

iminwa yawe na yo iyuzuze umunezero.

22 Abakwanka bazomaramara,

kandi ihema ry’ababisha ntirizoba rikiriho.»

9 Yobu yishura ati:

 2 «Ndazi neza ko ari ukwo biri.

Ariko none umuntu buntu yoshobora gutsinda Imana mu rubanza+?

 3 Hamwe umuntu yoshaka guharira na yo*+,

ntiyokwishura n’ikibazo kimwe mu bibazo vyayo igihumbi.

 4 Ni inkerebutsi mu mutima, kandi ifise ububasha burenze+.

Ni nde yoyihanga akagenda adakomeretse+?

 5 Yimura* imisozi ntihagire n’uwubimenya,

ikayitembagaza yashavuye.

 6 Iranyiganyiza isi ikava mu kibanza cayo,

ku buryo inkingi zayo zijugumira+.

 7 Itegeka izuba ngo ntiryake,

igapfuka umuco w’inyenyeri+.

 8 Isanza ijuru ari yonyene+,

ikagendera ku mikuba ikomeye y’ikiyaga+.

 9 Ni yo yakoze umugwi w’inyenyeri witwa Ashi*, uwitwa Kesili*,

uwitwa Kima*+ hamwe n’imigwi y’inyenyeri zo mu bumanuko.

10 Ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge+,

ibintu vy’agatangaza bidaharurika+.

11 Ica iruhande yanje ariko sindayibone.

Irandengana ariko sindayimenye.

12 Iyo inyakuye ikintu, ni nde yoyitangira?

Ni nde yoyibaza ngo: “Ivyo ugira ni ibiki+?”

13 Imana ntizotangira ishavu ryayo+,

mbere n’abashigikiye Rahabu*+ bazoyunamira.

14 Hari akantu rero jewe igihe ndayishura!

Wumva ntakwiye guhitamwo neza amajambo mvuga?

15 Naho noba ndi mu kuri, sinoronka ico ndayishura+.

Nta kindi nokora atari ugusaba imbabazi umucamanza wanje*.

16 Hamwe noyihamagara, ugira ngo yonyitaba?

Sinibaza n’uko yonyumviriza,

17 kuko insavya ikoresheje igihuhusi,

ikongereza ibikomere vyanje ata mvo+.

18 Ntimpa n’akanya ko guhumeka.

Iguma intamika ibintu vy’umururazi.

19 Hamwe twovuga ibijanye n’inguvu, ni yo izifise rero+.

Tuvuze ibijanye n’ubutungane na ho, ica ivuga iti: “Ni nde yombaza ivyo nakoze*?”

20 Naho noba ndi mu kuri, akanwa kanje kontsindisha.

Naho noba ndi intungane*, yovuga ko nagiriwe n’icaha.

21 Naho noba ndi intungane, sinzi ikindindiriye.

Ubu buzima burandambiye*.

22 Vyose ni cokimwe. Ni co gituma mvuga nti:

“Intungane n’umubisha irajaniranya.”

23 Hamwe hotera isegenya igahitana abantu giturumbuka,

yokwitwengera ibonye ingene intungane zihebuye.

24 Isi yayishize mu maboko y’ababisha+.

Abacamanza bo muri yo irabahuma amaso.

Nimba atari yo ibigira, none ni nde?

25 Imisi yanje isigaye inyaruka kuruta umwirutsi+.

Iriruka, ikarangira ata ciza na kimwe mbonye.

26 Irihuta nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,

nk’inkona ishungurukira ku kintu igira ifate.

27 Naho novuga nti: “Reka nibagire amaganya yanje,

reka nezerwe ndeke kwijirwa mu maso”,

28 nogumana ubwoba kubera imibabaro yanje yose+,

kandi ndazi ko itazonyita intungane.

29 Nokubitwa intahe mu gahanga.

Kubera iki none noruhira ubusa+?

30 Naho nokwoga amazi y’urubura* rwashonze,

nkongera ngakaraba intoke n’isabuni+,

31 yoca interera mu kinogo,

gushika n’aho impuzu zanje zinyanka urunuka.

32 Erega si umuntu nkanje ku buryo noyishura,

canke ngo turengukane imbere y’ubutungane+.

33 Nta muntu* n’umwe ariho yodutatura,

canke ngo atubere umucamanza*.

34 Hamwe yoreka kunkubita*

no kuguma intera ubwoba+,

35 noyivugisha ntatinya,

kuko ntazi kuvugana ubwoba.

10 Ubuzima bwanje buranshisha+.

Ngira nsuke amaganya yanje yose,

mvuge ndundumiwe mu mutima!

 2 Nzobwira Imana nti: “Ntunkubite intahe mu gahanga.

Mbwira igituma uriko urandwanya.

 3 Mbega hari ico bikwungura kuncinyiza,

ugasuzugura igikorwa c’amaboko yawe+,

ariko ugashigikira imigambi y’ababisha?

 4 Mbega ufise amaso y’inyama,

canke ubona nk’uko umuntu buntu abona?

 5 Mbega imisi yawe ingana n’iy’abantu

canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu+,

 6 ku buryo uguma urondera ikosa ryanje,

ukaguma uhiga igicumuro canje+?

 7 Urazi ko ata kosa mfise+,

kandi nta woshobora kundokora mu kuboko kwawe+.

 8 Amaboko yawe ni yo yambumbabumvye arandema+,

ariko raba ugira unkureho!

 9 Ndagusavye wibuke ko wandemye mw’ibumba+,

ariko raba ugira unsubize mu mukungugu+.

10 Mbega ntiwansutse nk’amata,

ugatuma mvura nk’amavuta y’inka*?

11 Waranyambitse urukoba n’inyama,

umfatanisha* amagufa n’imitsi+.

12 Warampaye ubuzima, unyereka urukundo*.

Warankingiye* wongera urambungabunga+.

13 Ariko ibi ni vyo wateguye kunkorera mu mpisho*.

Ndazi ko ivyo bintu biriko biva iwawe.

14 Iyo mba naracumuye, uba warabimenye+,

kandi ntiwompariye ikosa ryanje.

15 Noba nigorewe hamwe noba ndi mw’ikosa!

Kandi naho noba ndi intungane, sinoduza umutwe+

kuko nuzuye ibimaramare n’umubabaro+.

16 Hamwe noduza umutwe, woca umpiga nk’intambwe+,

ugasubira kundwanya ukoresheje ububasha bwawe.

17 Uzana ivyabona bishasha vyo kunyagiriza,

ishavu umfitiye rikongerekana,

ivyago na vyo bikaguma bikurakuranwa kuri jewe.

18 Kubera iki none wankuye mu nda ya mama+?

Mba naripfiriye ntihagire n’ijisho rimbona.

19 Vyari kumera nk’aho ntigeze mbaho,

bari guca bampamba nkiva mu nda.”

20 Mbega imisi nsigaje si mikeyi+? Imana ninyirekere.

Ninkureko amaso yayo kugira nduhuke gatoyi*+.

21 Imbere y’uko nigira (kandi sinzogaruka+)

mu gihugu c’umwiza w’umuzitanya*+,

22 mu gihugu c’umwijima w’umuzimagiza,

igihugu c’igitutu cijimye n’akajagari,

aho umuco waho umeze nk’umwiza.»

11 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:

 2 «Mbega ayo majambo yose yogenda atishuwe?

Canke wiyumvira ko kuvuga menshi bituma uba mu kuri*?

 3 Amajambo yawe ata co amaze yonumya abantu?

Wosuzugura abandi gutyo ntihagire uwugukosora+?

 4 Kuko uvuga ngo: “Ivyo mvuga* ni ukuri+,

kandi ndagororotse imbere y’Imana+.”

 5 Ariko ese iyaba Imana yovuga,

igateranura akanwa ikakwishura+!

 6 Yari kuguhishurira amabanga y’ubukerebutsi,

kuko ubukerebutsi nyabwo bufise imice myinshi.

Wari gutahura ko hari amakosa yawe yirengagiza.

 7 Mbega woshobora gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana?

Canke woshobora kumenya ibintu vyose vyerekeye* Mushoboravyose?

 8 Ubukerebutsi buri hejuru kuruta ijuru, wumva woshika ku ki?

Burimbitse kuruta ukuzimu, wumva womenya iki?

 9 Ni burebure kuruta isi

kandi buragutse kuruta ikiyaga.

10 Iramutse irenganye igata umuntu mw’ibohero

hanyuma igatumako sentare, ni nde yoyibuza?

11 Kuko izi abantu b’ababeshi.

Iyo ibonye ikintu kibi, mbega iracirengagiza?

12 Mbere n’umuntu w’ikijuju ntiyobura gutahura

indogobwa yo mw’ishamba iramutse ivyaye umuntu*.

13 Ese iyaba woteguye umutima wawe,

ukaduza amaboko ku Mana uyitakambira!

14 Nimba hari ibibi uriko urakora, bishire kure yawe!

Ntureke ngo ibikorwa bitagororotse bigume mu mahema yawe.

15 Uzoheza uraramike umutwe ata kumaramara.

Uzohagarara ushikamye ata bwoba.

16 Ntuzosubira kwibuka ivyago vyawe.

Uzovyibagira nka kurya kw’amazi yarenganye.

17 Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha umutaga.

Mbere n’ibihe vy’umwijima mu buzima bwawe bizomera nk’igitondo.

18 Uzotekana kuko ufise icizigiro.

Uzoraba irya n’ino, wiryamire mu mutekano.

19 Uzokwiryamira ata n’umwe agutera ubwoba,

kandi abantu benshi bazogusaba ngo ubatoneshe.

20 Ariko amaso y’ababisha azohuma.

Ntibazoronka aho bahungira,

kandi urupfu ni rwo ruzoba icizigiro cabo+.»

12 Maze Yobu yishura ati:

 2 «Emwe, womenga ni mwe mufise ubwenge mwenyene*,

kandi womenga buzojana namwe nimwapfa!

 3 Erega nanje ndafise ubwenge*.

Nta na kimwe mundushije.

Ivyo ni nde atabizi?

 4 Nsigaye ndi agatwengo kuri bagenzanje+,

kuko ntakambira Imana ngo inyishure+.

Umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane asigaye ari agatwengo.

 5 Abihiririwe barasuzugura ivyago,

bakibaza ngo bishikira abigorewe* gusa.

 6 Amahema y’abasuma aratekanye+,

kandi abasomborotsa Imana bibereye mu mahoro+,

bamwe bagendana imana zabo mu ntoke.

 7 Ariko ndakwinginze ubaze ibikoko, na vyo bizokwigisha.

Nubaze inyoni zo mu kirere, na zo zizokubwira.

 8 Niwihweze isi*, na yo izokwigisha,

canke wihweze amafi yo mu kiyaga, na yo azobikubwira.

 9 Mbega muri ivyo vyose,

hari ikitazi ko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze?

10 Ubuzima bw’ibintu vyose buri mu kuboko kwiwe,

mbere n’impwemu* z’abantu bose+.

11 Mbega ugutwi ntigusuzuma amajambo

nka kurya ururimi* ruhonja ibifungurwa+?

12 Mbega ubukerebutsi ntibubarizwa mu basaza+,

n’ugutegera kukaba mu bafise imyaka myinshi?

13 Imana ni yo ifise ubukerebutsi n’ubushobozi+.

Ni yo ifise impanuro n’ugutegera+.

14 Ico isambuye nta wusubira kucubaka+,

kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura.

15 Iyo igumije amazi, ibintu vyose bica vyuma+.

Iyo iyarungitse na ho, isi yose ica irengerwa+.

16 Ni yo ifise inguvu n’ubukerebutsi nyabwo+.

Uwuzimira n’uwuzimiza bose ni abayo.

17 Ituma abajanama bagenda ibirenge bisa*,

igatuma abacamanza bamera nk’abasazi+.

18 Ibohora imigozi abami babohesha abantu+,

igaca ibohera umukaba mu kiyunguyungu c’abo bami.

19 Ituma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,

igatembagaza abatsimbataye ku butegetsi+.

20 Yaka ijambo abahanuzi b’abizigirwa,

abatama* na bo ikabaka ugutahura.

21 Isuzugura abanyacubahiro+,

igatuma abanyenkomezi bagoyagoya*.

22 Ihishura ibintu vyimbitse ibikuye mu mwiza+,

ikazana ku muco ibintu vyari mu mwiza w’umuzitanya.

23 Ituma amahanga aba ayakomeye kugira iyarandure,

igatuma akarere kayo kaguka kugira iyatware mu bunyagano.

24 Ikuraho ubwenge* bw’abatware,

igatuma bayerera mu gahinga katagiramwo inzira+.

25 Barakabakaba mu mwiza+, ahantu hatagira umuco.

Ituma bagenda barayerera nk’imborerwa+.

13 Egome, ivyo vyose naravyiboneye n’amaso yanje.

Naravyumvise n’amatwi yanje kandi ndabitahura.

 2 Ivyo muzi nanje ndabizi,

nta na kimwe mundusha.

 3 Ariko jewe noshima kwivuganira na Mushoboravyose.

Nohimbarwa no gushikiriza Imana urubanza rwanje+.

 4 Mugabo mwebwe mundemeka ibinyoma.

Mwese muri abaganga ata co bamaze+.

 5 Ese iyo mupfuma mwihorera!

Vyari kwerekana ko mufise ubukerebutsi+.

 6 Ndabasavye mwumvirize ivyo nireguza.

Nimutege ugutwi ukwiburanira kwanje.

 7 Muvuge ibinyoma ngo muriko muvugira Imana?

Mwubahuke kuyibeshera?

 8 Mbega mwoja ku ruhande rwayo*,

mukaburanira Imana y’ukuri?

 9 Hamwe yobasuzuma, mwibaza ko yosanga mwera+?

Ugira ngo mwoyibesha nk’uko mubesha umuntu?

10 Hamwe mwogerageza kugira nkunzi mu mpisho,

ni ukuri ntiyoreka kubahana+.

11 Mbega ntimwotinya icubahiro cayo?

Ntimwogira ubwoba kubera yo?

12 Amajambo yanyu y’ubwenge* ni imigani ata co imaze nk’iminyota.

Ivyo mwireguza* bimeze nk’inkinzo z’ibumba.

13 Nimuhore nanje mvuge,

maze bice aho bishaka!

14 Kubera iki nokwishira mu kaga*,

ubuzima bwanje nkabutwarira mu ntoke?

15 Naho yonyica, noguma ndayizigiye*+.

Nzokwiburanira* imbere yayo.

16 Na yo rero yoheza ikankiza+,

kuko umuntu atubaha Imana* atorenguka imbere yayo+.

17 Nimwumvirize neza amajambo yanje.

Nimutege amatwi ivyo mvuga.

18 Ubu rero nateguye urubanza rwanje,

ndazi neza ko ndi mu kuri.

19 Ni nde yonyagiriza ikosa?

Hamwe noguma ncereje noca mpfa*.

20 Ewe Mana, ndagusavye ibi bintu bibiri gusa*,

kugira sindakwinyegeze:

21 Nunkureko ukuboko kwawe kuremereye,

kandi ntureke ngo kugutinya bitume ndanduka umutima+.

22 Nuvuge nanje ndakwishure,

canke na ho ureke mvuge, nawe unyishure.

23 Amakosa yanje n’ibicumuro vyanje ni ibihe?

Nyereka ubugarariji bwanje n’igicumuro canje.

24 Kubera iki umpisha mu maso hawe+,

ukamfata nk’umwansi wawe+?

25 Mbega wogerageza gutera ubwoba ibabi riguruwe n’umuyaga?

Canke wokwiruka inyuma y’ivyatsi vyumye?

26 Kuko uguma wandika ibirego bikaze vyo kunyagiri⁠za,

ugatuma nishura ibicumuro vyo mu buto bwanje.

27 Waraboshe amaguru yanje*,

uguma usuzuma inzira zanje zose,

kandi uguma ukurikirana aho mponyoza ikirenge hose.

28 Umuntu* rero aherengetera nk’ikintu caboze,

nka kurya kw’impuzu yariwe n’udukoko.

14 Umuntu yavyawe n’umugore,

abaho igihe gito+ kandi yama yugarijwe n’ingorane*+.

 2 Ameze nk’ishurwe rishurika rigaca ryuma*+.

Ameze nk’igitutu gihunga kikazimangana+.

 3 Ariko uwo ni we ugumizako ijisho,

ukamushengeza* ngo muburane+.

 4 Mbega hari umuntu ahumanye yovyara uwudahumanye+?

Nta n’umwe.

 5 Nimba imisi yiwe yarashinzwe,

aho rero igitigiri c’amezi yiwe kiri mu maboko yawe.

Waramushingiye akarimbi ntarengwa+.

 6 Mukureko amaso kugira aruhuke,

gushika arangije umusi wiwe nk’umukozi w’umucangero+.

 7 Erega hariho icizigiro no ku giti.

Iyo ciciwe, kirasubira kunaga,

kandi iminago yaco ikabandanya gukura.

 8 Naho imizi yaco yosazira mu kuzimu

n’igishitsi caco kigapfira mw’ivu,

 9 gipfa kwumva amazi gusa kigaca kinaga,

kikazana amashami nk’igiterwa gishasha.

10 Ariko umuntu arapfa, akarambarara ng’aho ata tuguvu.

None iyo umuntu acikanye, aba ari hehe+?

11 Amazi arazimangana mu kiyaga,

kandi n’uruzi ruratumuka rugakama.

12 Umuntu na we nyene araryama ntasubire kuvyuka+.

Igihe cose ijuru rizoba rikiriho ntazokwikangura,

kandi nta wuzomukangura mw’itiro ryiwe+.

13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,

ukanyegeza gushika ishavu ryawe riheze,

ukanshingira igihe maze ukanyibuka+!

14 Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho+?

Nzorindira imisi yose nashingiwe*,

gushika ugutabarwa kwanje kuje+.

15 Uzohamagara, nanje nitabe+.

Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.

16 Ariko ubu uguma uharura intambuko zanje zose,

uguma ureretse igicumuro canje.

17 Igicumuro canje cugaraniwe mw’isaho,

ikosa ryanje warariboshe ushirako n’uburembo.

18 Nka kurya kw’umusozi usenyutse ugasanzara,

nka kurya igitandara gikurwa mu kibanza caco,

19 nka kurya nyene amazi akorogoshora amabuye,

imivo y’ayo mazi na yo igakukumura ivu ryo hasi,

ni ko waranduye icizigiro c’umuntu.

20 Uguma umufyonyora gushika apfuye+.

Umuhindura isura hanyuma ukamurungika mu kuzimu.

21 Abana biwe baraterwa iteka ariko ntabimenye.

Barasuzugurwa ariko we nta vyo abona+.

22 Yumva ububabare igihe gusa akiri muzima.

Agandara igihe gusa akiriho.»

15 Elifazi+ w’i Temani amwishura ati:

 2 «Mbega umuntu w’inkerebutsi yovuga ibintu ata co bimaze*?

Canke yokwuzuza inda yiwe umuyaga wo mu buseruko?

 3 Gukosora ukoresheje amajambo gusa nta co bimaze,

kandi kuvuga vyonyene nta co vyungura.

 4 Kuko utuma abantu batabandanya gutinya Imana,

kandi ugatuma batabandanya kuyiyumvira.

 5 Kuko ivyo uvuga vyose ubitumwa n’amakosa yawe*,

ugahitamwo gukoresha amajambo y’urwenge.

 6 Akanwa kawe ni ko kagutsindisha, si jewe.

Iminwa yawe ni yo ikwagiriza+.

 7 Mbega ni wewe watanze abantu bose kuvuka?

Canke waratanze imisozi kubaho?

 8 Woba wumviriza amabanga y’Imana?

Canke ugira ngo ni wewe gusa ufise ubukerebutsi?

 9 Ni ibiki uzi twebwe tutazi+?

Ni ibiki utahura twebwe tudatahura?

10 Abafise imvi n’abatama bose turi kumwe+,

abagabo basumvya imyaka so wawe kure n’iyo.

11 Mbega ukwirurwa kuvuye ku Mana,

canke amajambo bakubwiranye ubwitonzi ntibikubumba?

12 Kubera iki ureka umutima wawe ukakuzimiza,

n’amaso yawe akarungura kubera ishavu?

13 Erega ushavuriye Imana ubwayo.

Ni co gituma uriko uvuga amajambo mwene ayo.

14 Mbega umuntu ni iki ngo abe uwutyoroye?

Umuntu yavyawe n’umugore ni iki ngo abe intungane+?

15 Ehe n’abamarayika* bayo ntibizera,

mbere n’ijuru rirahumanye mu maso yayo+.

16 Nkanswe umuntu ateye ishishi kandi yononekaye+,

umuntu agotomera ibitagororotse nk’amazi!

17 Nyumviriza ndakubwire,

ndakwiganire ivyo niboneye,

18 ivyo abantu b’inkerebutsi batanyegeje,

ivyo biganye babibwiwe na ba sekuruza babo+.

19 Ni bo bonyene baba mu gihugu bahawe,

kandi nta munyamahanga yari muri bo.

20 Umubisha amara ubuzima bwiwe bwose mu mibabaro.

Uwuhahaza abandi amara imyaka yiwe yose mu vyago.

21 Amatwi yiwe aguma yumva amajwi ateye ubwoba+.

No mu gihe c’amahoro abambuzi baramutera.

22 Ntiyizigira ko azova mu mwiza+,

aguma abona ko inkota imurindiriye.

23 Arayerera arondera ibifungurwa*, ariko abikura he?

Arazi neza ko umusi w’umwiza ugira ushike.

24 Amaganya n’umubabaro biguma bimutera ubwoba.

Bimuzako nka kurya kw’umwami yiteguriye igitero.

25 Aramvura ukuboko kugira arwanye Imana ubwayo,

akagerageza kwihanga* Mushoboravyose.

26 Ayirukako n’akagagazo n’akantu,

yitwaje inkinzo ikomeye, ifise intimbatimba nini*.

27 Yarakakamye mu maso kubera ukuvyibuha.

Mu mafyinga yiwe huzuye ibinure*.

28 Ibisagara abamwo bizocika umusaka.

Amazu abamwo nta wuzosubira kuyabamwo,

azosigara ari ibirundo vy’amabuye gusa.

29 Ntazoba umutunzi, ivyo afise ntibizokwongerekana.

Ibintu atunze ntibizokwiragira mu gihugu.

30 Ntazohunga umwiza.

Urubeya ruzoturira umuvyaro wiwe*,

kandi azokwicwa n’impemu zivuye mu kanwa k’Imana+.

31 Ntaze yihende ngo yizigire ibitagira akamaro,

kuko yokwimbura ibitagira akamaro.

32 Ivyo bizomushikira budakeye na kabiri,

kandi amashami yiwe ntazokwigera atotahara+.

33 Azomera nk’igiti gitibagura inzabibu zaco zitarera,

nk’igiti c’umwelayo* gitibagura amashurwe yaco.

34 Kuko ikoraniro ry’abantu batubaha Imana* ata co rivamwo+,

kandi umuriro uzoturira amahema y’abarya igiturire.

35 Batwara inda y’ibibi bakavyara ibintu bibabaza,

kandi inda zabo zuzuye ububeshi.»

16 Yobu yishura ati:

 2 «Nari maze kwumva ibintu vyinshi nk’ivyo.

Mwese muri abahoza batera umubabaro+.

 3 Mbega amajambo ata co amaze* arigera ahera?

Ni igiki gitumye wishura gutyo?

 4 Erega nanje noshobora kuvuga nkamwe.

Iyaba mwari mu kibanza canje,

nari gushobora kubabwira amajambo akaze yo kubanegura,

kandi nkabazungagiriza umutwe+.

 5 Aho kubigenza gutyo, amajambo yanje yari kubakomeza,

ivy’iminwa yanje ivuga* vyari kubirura+.

 6 Iyo mvuze, ububabare bwanje ntibugabanuka+,

kandi naho nohora, na ho nyene nta gihinduka.

 7 Ariko noneho Imana yaranduhije+.

Yaramariyeko abanje* bose.

 8 Ariko kandi yarancakiye, kandi ivyo biribonekeza.

Ukwonda kwanje ni icabona kinyagiriza.

 9 Ishavu ryayo ryarantabaguye, imfitiye inzigo+.

Iguma impekenyera imisaya*.

Umwansi wanje aguma andaba igitsure+.

10 Abantu bataburuye akanwa ngo bandotse+,

bankubita amakofe n’akagaye n’akantu.

Bankoraniyeko ari isinzi+.

11 Imana indekuriye mu maboko y’uduhungu dutoyi,

interera mu maboko y’abantu b’ababisha+.

12 Nari nitekaniye, ariko yaramenaguye+.

Yarancakiye kw’izosi maze iransavya,

iraheza intumberezako imyampi yayo.

13 Abarasisha umuheto bayo barankikuje+.

Irantobagura amafyigo+ ata kigongwe,

igasesa hasi indurwe yanje.

14 Irantobagura ngasigara ndi ibitoboro gusa.

Insimbirako nka kurya kw’umurwanyi.

15 Nashonye amagunira kugira mpfuke urukoba rwanje+.

Icubahiro* canje nakizitse mu mukungugu+.

16 Mu maso hanje hatukuye kubera amarira+,

amaso yanje yirabuye kubera intuntu*,

17 naho ata kibi amaboko yanje yakoze,

kandi nkaba nsenga ata co niyagiriza.

18 Ewe wa si we, ntupfuke amaraso yanje+,

kandi amaborogo yanje ntiyigere ahagarara!

19 Ubu rero icabona canje kiri mw’ijuru.

Uwushobora kunshingira intahe ari hejuru.

20 Abagenzi banje bantwengera mw’ijigo+,

nanje nkaguma ndira ntakambira Imana*+.

21 Nihagire uwuducira urubanza twe n’Imana,

nka kurya bacira urubanza umuntu na mugenziwe+.

22 Kuko hasigaye imyaka mikeyi gusa,

ngafata inzira abantu bajana ntibagaruke+.

17 Impwemu zanje ziraheze, imisi yanje irarangiye.

Itongo ry’abapfuye rirandindiriye+.

 2 Nkikujwe n’abacokoranyi+,

kandi amaso yanje aguma yitegereza ubugarariji bwabo.

 3 Ewe Mana, ndagusavye wakire ingwati yanje uyigumye.

Hari uwundi none twokorana mu ntoke akemera kunyishinga+?

 4 Imitima yabo warayihishije ugutahura+.

Ni co gituma utabareka ngo baroranirwe.

 5 Hari abemera gusangira ivyabo n’abagenzi,

kandi abana babo bariko bicwa n’inzara.

 6 Imana yangize agatwengo* mu bantu+,

ku buryo basigaye bancira amate mu maso+.

 7 Amaso yanje asigaye abona ivyijiji kubera intuntu+.

Ibihimba vy’umubiri wanje vyose vyaranyunyutse*.

 8 Abagororotsi barabiraba bakumirwa,

kandi umuntu w’intungane arababazwa n’abatubaha Imana*.

 9 Umugororotsi aguma mu nzira yiwe+,

kandi umuntu w’intungane* aguma arushiriza gukomera+.

10 Ariko nimubandanye amajambo yanyu,

kuko nasanze ata n’umwe afise ubukerebutsi muri mwebwe+.

11 Imisi yanje yo kubaho iraheze+.

Imigambi yanje, ivyo umutima wanje wipfuza, bipfuye ubusa+.

12 Ijoro baguma baryita umurango,

bakivugira ngo: “Umuco ugira uboneke kuko bwije.”

13 Hasigaye igihe gito ukuzimu kukaba inzu yanje+.

Nzosasa igitanda canje mu mwiza+.

14 Nzosemerera mbwira icobo*+ nti: “Uri dawe!”

Urunyo na rwo ndarubwire nti: “Uri mawe na mushikanje!”

15 None icizigiro canje kiri hehe+?

Ni nde akimbonera ga yemwe?

16 Kizomanuka mu marembo y’ukuzimu

ninamanukana na co mu mukungugu+.»

18 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:

 2 «Uzogeza ryari kuvuga amajambo nk’ayo?

Niwikubite agashi* maze tubandanye kuyaga.

 3 Kubera iki udufata nk’ibikoko+,

tukaboneka nk’ibijuju* imbere yawe?

 4 Naho woshavura ukameneka!

Ugira ngo isi izoca ihebwa kubera wewe,

canke ugira ngo ibitandara bizoca vyimuka?

 5 Emwe, umuco w’umubisha uzozima,

kandi urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka+.

 6 Umuco wo mw’ihema ryiwe uzohinduka umwiza,

kandi itara riri hejuru yiwe rizozima.

 7 Umuvuduko wiwe uragabanuka,

kandi imigambi yiwe ni yo izotuma atemba+.

 8 Kuko ibirenge vyiwe bizomujana mu rusenga,

kandi azojuragirika ari muri rwo.

 9 Umutego uzomucakira ku kirenge.

Umushibuka uzomufata+.

10 Umugozi wo kumufata unyegejwe mw’ivu.

Umutego uramurindiriye mu nzira yiwe.

11 Akikujwe n’ibintu bimutera ubwoba+,

kandi biguma bimukurikira iyo aja hose.

12 Inguvu ziwe ziramuherana,

kandi ivyago+ bizotuma acumbagira.

13 Urukoba rwiwe ruratabagurika,

umubiri wiwe ugaterwa n’indwara yica cane.

14 Bamukura aho yari yitekaniye mw’ihema ryiwe+,

bakamujana kumwica urupfu rubi*.

15 Ihema ryiwe rizobamwo abantu atazi*.

Urugo rwiwe ruzoturirwa n’amazuku*+.

16 Nka kurya kw’igiti, imizi yiwe izokwumira munsi yiwe,

kandi amashami yiwe azokwumira kuri we.

17 Mw’isi abantu bazomwibagira,

kandi no mw’ibarabara abantu ntibazomenya izina ryiwe*.

18 Bazomukura mu muco bamuhindire mu mwiza,

kandi bazomwomora kw’isi.

19 Nta ruvyaro canke abamukomokako azoronka mu bantu b’iwabo.

Nta muntu n’umwe azorokoka aho yahora aba*.

20 Ku musi w’ivyago vyiwe, abantu bo mu burengero bazokwumirwa,

abo mu buseruko na bo bazotekerwa n’ubwoba.

21 Ivyo ni vyo bishikira amahema y’inkozi y’ikibi,

ni vyo bishikira ahantu haba umuntu atazi Imana.»

19 Yobu aca yishura ati:

 2 «Muzogeza ryari kuguma muntera ishavu+,

mumbwira amajambo acumita+?

 3 Zibaye incuro cumi zose muntuka*.

Mbe nta n’isoni mufise aho mumfata nabi gutyo+?

 4 Asangwa narakoze ikosa,

ivyo ni jewe biraba.

 5 Nimba mushaka kuguma munyiratako,

mukavuga ko ivyago vyanshikiye ndabibereye,

 6 nimumenye rero ko Imana ari yo yanzimije,

ikamfatira mu rusenga rwayo rw’uruhigi.

 7 Nguma nsemerera nti: “Narenganijwe”, ariko nta wunyishura+.

Nguma ntabaza, ariko nta butungane buhari+.

 8 Inzira yanje yayizibije uruhome rw’amabuye, sinshobora kurengana.

Ibarabara ryanje yaryujujemwo umwiza+.

 9 Yaranyatse ubuninahazwa bwanje,

inkura urugori ku mutwe.

10 Insenyagura impande zose gushika nzimanganye,

ikarandura icizigiro canje nka kurya kw’igiti.

11 Iranshavurira cane,

ikamfata nk’umwansi wayo+.

12 Ingabo zayo zaziye icarimwe kunyugariza,

kandi zicumbitse irya n’ino y’ihema ryanje.

13 Yarantandukanije cane na benewacu.

Abahora banzi barantaye nk’akanuka+.

14 Abagenzi banje somambike* barantaye.

Abo twari tuzinanye ntibakinyibuka+.

15 Abashitsi+ n’abasukukazi banje bamfata nk’icaduka.

Basigaye bambona nka kavamahanga.

16 Ndahamagara umusuku wanje ntanyitabe.

Ndamutakambira ngo angirire impuhwe.

17 Impemu zanje zisigaye zishisha umugore wanje+,

nsigaye nukira benewacu*.

18 Mbere n’utwana dutoyi dusigaye tungaya.

Mpfa guhaguruka tugaca dutangura kunzomera.

19 Abagenzi banje somambike bose ntibakinyerekwa+.

Abo nahora nkunda basigaye bandwanya+.

20 Amagufa yanje afatanye n’urukoba n’inyama+.

Ngarukiye ku cobo*.

21 Nyumvira impuhwe bagenzi, nimunyumvire impuhwe,

kuko ukuboko kw’Imana kwankozeko+.

22 Kuki muguma muntoteza nk’uko Imana ibigira+,

mukaguma muntera urutavanako*+?

23 Icompa amajambo yanje akandikwa!

Ese icompa akandikwa mu gitabu!

24 Ese iyaba yokwanditswe ku gitandara akagumaho,

akandikwa hakoreshejwe ikaramu* y’icuma n’ubutare bw’isasu!

25 Ndazi neza ko umucunguzi wanje+ ari muzima.

Azoteba aze ahagarare kw’isi*.

26 Naho urukoba rwanje ruzoba rwasinzikaye,

nzobona Imana nkiri muzima.

27 Ubwanje nzoyibona.

Amaso yanje azoyibona, si ay’uwundi azoyibona+.

Ariko muri jewe numva ndengewe*.

28 Kuko muvuga muti: “Turiko tugutoteza gute+?”

Ukamenga ni jewe muzi w’ingorane.

29 Mukwiye gutinya inkota+,

kuko abakora amakosa bahanishwa inkota.

Mukwiye kumenya ko hariho umucamanza+.»

20 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:

 2 «Ndabuze amahoro, birananiye kwihangana.

Ni co gituma ngira mvuge.

 3 Hari ijambo numvise ryo kuntuka*.

Ugutegera* kwanje gutuma nishura.

 4 Uko biri kwose wari usanzwe uzi iki kintu,

kuko ari ko vyamye biri kuva umuntu* aremwe kw’isi+:

 5 Umunezero w’umubisha umara akanya isase,

akanyamuneza k’umuntu atubaha Imana* kamara igihe gito+.

 6 Naho yoduga agashika kw’ijuru kubera ubwibone,

n’umutwe wiwe ukaduga ugakora ku bicu,

 7 azozimangana ibihe vyose nk’umwanda mukuru wiwe,

abahora bamubona bazobaza bati: “Ari hehe?”

 8 Azokamangana nk’indoto, ntibasubire kumubona.

Azozimangana nk’ivyo umuntu yeretswe mw’ijoro.

 9 Ijisho ryahora rimubona ntirizosubira kumubona,

kandi aho yahora aba ntihazosubira kumubona+.

10 Abana biwe bazokwisemba abakene,

kandi amaboko yiwe azosubiza ubutunzi yanyaze+.

11 Inkomezi z’ubusore zuzuye mu magufa yiwe,

ariko zizoryamana na we mu mukungugu.

12 Nimba asoserwa n’ikibi mu kanwa kiwe,

akakinyegeza munsi y’ururimi rwiwe,

13 nimba aguma acinovora ntakimire,

mugabo akakigumana mu kanwa kiwe,

14 ivyo kurya vyiwe bizohinduka umururazi bigeze muri we,

bizomera nk’ubumara bw’incira* muri we.

15 Ubutunzi yamize azobudahwa.

Imana izobukura mu nda yiwe bwose.

16 Azonunuza ubumara bw’incira.

Azokwicwa n’amenyo* y’imamba.

17 Ntazokwigera abona imigezi y’amazi,

inzuzi zitembamwo ubuki n’amavuta y’inka.

18 Azosubiza ivyo yari atunze atanabiriyeko.

Ntazokwikora ku butunzi buvuye mu rudandaza rwiwe+.

19 Kuko yacinyije abakene kandi akabaheba.

Yanyaze inzu atigeze yubaka.

20 Ariko ntazokwigera aronka amahoro.

Ubutunzi bwiwe ntibuzomukiza.

21 Ivyo yahora arotsa vyamuheranye.

Ni co gituma ugusagamba kwiwe kutazomara na kabiri.

22 Ubutunzi bwiwe nibwashika kw’isonga, azoca yicwa n’amaganya.

Ivyago vyose bizoca bimukoranirako.

23 Akiriko aruzuza inda yiwe,

Imana izoca imusukako ishavu ryayo rirurumba,

rimugweko nk’imvura gushika no mu mara yiwe.

24 Niyahunga ibirwanisho vy’icuma,

imyampi y’umuheto w’umujumpu izoca imutobekeranya.

25 Asokora umwampi wamutoboye mu mugongo,

ikirwanisho gica ibibatsi camutobekeranije mu nda*,

agaca atekerwa n’ubwoba+.

26 Ubutunzi bwiwe bubikiwe umwiza w’umuzitanya.

Azoturirwa n’umuriro wiyadukije.

Abazorokoka mw’ihema ryiwe bose bazohitanwa n’ivyago.

27 Ijuru rizoshira ahabona ikosa ryiwe.

Isi izomuhagurukira imurwanye.

28 Inzu yiwe izohitanwa n’umwuzure.

Imana izoteza isegenya rikomeye ku musi w’ishavu ryayo.

29 Uwo ni wo mugabane Imana iha umubisha,

ni yo ntoranwa Imana yamuteguriye.»

21 Yobu yishura ati:

 2 «Nimwumvirize neza ivyo ngira mvuge.

Aho ni ho mwoba mumpojeje.

 3 Nimunyihanganire mvuge.

Ninaheza kuvuga muraheza muntwengere mw’ijigo+.

 4 Mbega mwibaza ko ndiko nganyira umuntu?

Hamwe vyoba ari ukwo, ukwihangana nogukura hehe?

 5 Nimundabe mwumirwe.

Nimwifate ku munwa.

 6 Iyo ndavyiyumviriye birampagarika umutima,

umubiri wanje wose ukajugumira.

 7 Kubera iki ababisha babandanya kwiberaho+,

bagasaza, mbere bakaba n’abatunzi*+?

 8 Bama bakikujwe n’abana babo,

bakabona n’uruvyaro rwabo.

 9 Ingo zabo ziratekanye, nta kizitera ubwoba+.

Imana ntibahanisha inkoni yayo.

10 Impfizi zabo zirimya zigafatisha.

Inka zabo ziravyara, ntiziramburura.

11 Uduhungu twabo turiruka hanze nk’imyagazi y’intama,

abana babo bakaguma bikina amatavu.

12 Baguma biririmbira bajanisha n’ingoma n’inanga,

bagahimbarwa n’ijwi ry’umwironge+.

13 Bamara ubuzima bwabo biryoherewe,

hanyuma bakimanukira mu kuzimu mu mahoro*.

14 Mugabo babwira Imana y’ukuri bati: “Twirekere!

Ntidushaka kumenya inzira zawe+.

15 Mushoboravyose ni nde ngo tumukorere+?

Mbega kumumenya vyotumarira iki+?”

16 Ariko ndazi ko ukuroranirwa kwabo kutari mu minwe yabo+.

Ivyiyumviro* vy’ababisha biri kure yanje+.

17 Ni kangahe murabona itara ry’ababisha rizima+?

Ni kangahe ivyago bibazako?

Ni kangahe Imana ibarandura yashavuye?

18 Mbega barigera bamera nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga?

Barigera bamera nk’umuguruka utwawe n’igihuhusi?

19 Igihano c’umubisha Imana izokibikira abana biwe.

Ese yobimwishura ku buryo abimenya+!

20 Ese amaso yiwe yobona ugutemba kwiwe,

akaba ari we yihurira* n’uburake bwa Mushoboravyose+!

21 Kuko atitaho ibizoshikira urugo rwiwe mu nyuma zi⁠we,

naho vyoshika agapfa giturumbuka+.

22 Mbega hari uwokwigisha Imana ikintu na kimwe*+

kandi ari yo icira urubanza mbere n’abahambaye+?

23 Hari abantu bapfa bagifise inkomezi zabo zose+,

ata myitwarariko bafise, bitekaniye+,

24 amatako yabo yuzuyeko ibinure,

n’amagufa yabo agikomeye*.

25 Hakaba n’abandi bapfana agahinda,

batigeze bahonja ivyiza.

26 Bose bazoryama hamwe mu mukungugu+,

kandi inyo zizobatondako bose+.

27 Erega ndazi neza ivyo muriko muriyumvira,

n’imigambi muriko murapanga yo kundenganya*+.

28 Kuko mwivugira ngo: “Inzu y’umuntu ahambaye iri hehe?

Ihema umubisha yahora abamwo riri hehe+?”

29 Mbega ntimurabaza abagira ingendo?

Ntimusuzuma neza ivyo bashitseko*?

30 Ntimwabonye ko umubisha akingirwa ku musi w’ivya⁠go

akongera agatabarwa ku musi w’uburake?

31 Ni nde yomwereka amaso mu yandi ko inzira yiwe ari mbi?

Ni nde yomusubiriza mu nkoko ku vyo yakoze?

32 Iyo bamuhamvye mw’itongo ry’abapfuye,

imva yiwe iguma icungerewe.

33 Ibinonko vyo mu mubande* bizomuruhurira+.

Abantu bose bazomukurikira*+,

nk’uko n’ayandi masinzi yamwitangiye imbere.

34 Kubera iki none mumpa uruhoza ata co rumaze+?

Ivyo munyishura vyose ni ibinyoma gusa.»

22 Elifazi+ w’i Temani yishura ati:

 2 «Mbega umuntu hari ico yomarira Imana?

Hari ico yoyimarira naho yoba ari inkerebutsi*+?

 3 Ubugororotsi bwawe hari ico buvuze kuri Mushoboravyose*?

Hari ico yunguka ngo ni uko ugumye uri intungane+?

 4 Mbega yoguhana

canke ikagushira mu rubanza kubera uyubaha?

 5 Ahubwo ni kubera ibibi vyawe vyinshi

n’amakosa yawe atagira igitigiri+.

 6 Kuko waka ingwati benewanyu ata mpamvu,

ugatwara abantu impuzu zabo ukabasiga bari gusa*+.

 7 Uwurushe ntumuha utuzi two kunywa,

kandi n’uwushonje ntumuha utwo kurya+.

 8 Abanyenkomezi ni bo bene igihugu+,

kandi abatonye ni bo baciberamwo.

 9 Abapfakazi wabarungitse iminwe misa.

Amaboko y’impfuvyi warayavunaguye.

10 Ni co gituma ukikujwe n’imitego*+,

ugatinya ibintu biteye akaga bije giturumbuka.

11 Ni co gituma uri mu mwiza ku buryo udashobora kubona,

kandi ukaba urengewe n’amazi menshi.

12 Mbega Imana ntiri hejuru mw’ijuru?

Vyongeye, raba ukuntu inyenyeri zose ziri hejuru cane.

13 Ariko wewe uvuga uti: “Mbega Imana izi iki?

Yoshobora guca urubanza kandi itangiriwe n’umwiza w’umuzitanya?

14 Ibicu birayitangira ku buryo itabona

igihe iriko iratambukira ku gisenge* c’ijuru.”

15 Mbega uzogendera mu nzira ya kera,

iyo abanyakibi bagendeyemwo,

16 bamwe urupfu rwahitana hakiri kare*,

bagatikira nk’umushinge w’inzu utwawe n’umwuzure*+?

17 Bahora babwira Imana y’ukuri ngo: “Twirekere!”

Bakavuga ngo: “Mbega Mushoboravyose yotugira iki?”

18 Ariko ni we yujuje amazu yabo ivyiza.

(Ivyo vyiyumviro bibi ntibikanzemwo.)

19 Abagororotsi bazobibona banezerwe.

Abantu b’intungane bazobatwengera mw’ijigo, bavuge bati:

20 “Abansi bacu bazimanganye,

kandi n’ibisigarira vyabo bizoturirwa n’umuriro.”

21 Niwiyegereze Imana, wibereho amahoro.

Uzoheza wironkere ivyiza.

22 Niwemere itegeko rivuye mu kanwa kayo,

kandi ushire ku mutima ivyo ivuze+.

23 Niwagaruka kuri Mushoboravyose, uzosubirana+.

Niwakura ibitagororotse mw’ihema ryawe,

24 ugata inzahabu zawe mu mukungugu

kandi ugashiburira inzahabu z’i Ofiri+ mu manga*,

25 Mushoboravyose azoca akubera inzahabu,

akubere n’ifeza nzizanziza.

26 Aho ni ho uzohimbarwa na Mushoboravyose,

kandi uzokwunamura amaso uyerekeza ku Mana.

27 Uzoyinginga, na yo ikwumve,

kandi uzoshitsa indagano zawe.

28 Ico ushatse gukora cose kizororanirwa,

kandi umuco uzokumurikira mu nzira yawe.

29 Niwavugana ubwibone izogucisha bugufi,

mugabo izokiza abifata ruto*.

30 Izotabara abantu b’intungane.

Nimba rero amaboko yawe yera, ntizobura kukurokora.»

23 Yobu yishura ati:

 2 «N’ubu nyene nguma nitakambira nshimitse*+.

Inguvu zanje zaheze kubera iminiho yanje.

 3 Iyaba gusa nari nzi aho Imana iri+!

Nogiye nkayisanga aho iba+.

 4 Noyishikirije urubanza rwanje,

nkuzuza akanwa kanje ivyiyumviro nireguza.

 5 Noheza nkumva ico inyishura,

ngatega ugutwi ico imbwira.

 6 Ugira yondwanya ikoresheje ububasha bwayo bukomeye?

Oya nawe! Ahubwo riho yonyumviriza+.

 7 Umugororotsi yoshobora kwisigura imbere yayo,

kandi Umucamanza wanje yonyambika izera rimwe rizima.

 8 Ariko nja mu buseruko sindayisangeyo,

nagaruka na ho nyene nkayibura.

 9 Iyo iriko ikorera ibubamfu, ndayiraba nkayibura.

Iyo ihindukiye igakorera iburyo, na ho nyene sindayibona.

10 Ariko yoyo irazi inzira yanje+.

Niyaheza kungeza, nzosohoka meze nk’inzahabu itavanze+.

11 Narakurikiye neza intambuko zayo.

Nagumye ngendera mu nzira yayo ntaca ku ruhande+.

12 Sinigeze mva ku mabwirizwa yo mu kanwa kayo.

Narakurikije amajambo yayo+, mbere ndarenza ivyo insaba*.

13 Iyo ifashe ingingo, ni nde yoyibuza+?

Iyo ishatse gukora ikintu iragikora+.

14 Kuko izoshitsa ibintu vyose yanteguriye*,

kandi ibintu bene ivyo ni vyinshi mu bubiko bwayo.

15 Ni co gituma mpagaritse umutima kubera yo.

Iyo ndayiyumviriye, ubwoba buca bwongerekana.

16 Imana yatumye ntinya,

Mushoboravyose yaranteye ubwoba.

17 Ariko sinanumijwe n’umwijima,

canke umwiza w’umuzitanya umpfutse mu maso.

24 Kuki Mushoboravyose adashinga umusi w’urubanza+?

Kubera iki abamuzi batabona uwo musi?

 2 Hari abimura uturimbi tw’abandi+,

bakiba ibitungwa vy’abandi bakaja kubiragira iwabo.

 3 Batwara indogobwa yegukira impfuvyi,

bagafata impfizi y’inka y’umupfakazi nk’ingwati+.

 4 Bahindira aboro kure y’inzira.

Abatagira gitabara bo kw’isi barabahunga+.

 5 Abakene barondera ivyo barya mu gahinga nk’indogobwa zo mw’ishamba+,

bakaronderera utwo kurya abana babo mu bugaragwa.

 6 Babwirizwa kwimbura* mu mirima y’abandi,

bagatoragura ivyasigaye mu mizabibu y’ababisha.

 7 Barara bari gusa, batagira agahuzu+.

Ntibagira ico bipfuka mu mbeho.

 8 Imvura ibanyagira bari mu misozi,

bakikinga ibitandara kubera batagira aho bugama.

 9 Ababisha bashikura impfuvyi* kw’ibere+.

Bafata impuzu z’abakene nk’ingwati+,

10 bigatuma bagenda bari gusa, ata gahuzu bambaye,

kandi bakikorera imiganda y’ivyo bimbuye bashonje.

11 Birirwa baracumukura hagati y’imikobeko mu bushuhe bukaze*.

Birirwa baragana* imivinyu ariko bakicwa n’inyota+.

12 Abari ku mpfiro baguma baborogera mu gisagara.

Abakomeretse cane baguma batabaza+,

ariko Imana nta co biyibwiye*.

13 Hari abiyamiriza umuco+,

ntibemere inzira zawo,

kandi ntibagendere mw’ibarabara ryawo.

14 Iyo bukeye umwicanyi arahaguruka,

akagandagura abatagira gitabara n’abakene+.

Mw’ijoro na ho aca atangura kwiba.

15 Ijisho ry’uwurenga ibigo riguma rireretse ko bwira+,

akibwira ati: “Nta wumbona+”,

maze akitwikira mu maso.

16 Abasuma bamena amazu y’abandi mu mwijima,

bakiyugaranira mu mazu yabo ku murango.

Barazirana n’umuco w’umurango+.

17 Igitondo n’umwiza ni cokimwe kuri bo.

Baramenyereye ibitera ubwoba mu mwiza w’umuzitanya.

18 Ariko amazi ntateba kubakukumura.

Amatongo yabo yaravumwe+.

Ntibazogaruka mu mirima yabo y’imizabibu.

19 Kurya nyene uruzuba n’ubushuhe bituma urubura* rukamangana,

ni ko n’ukuzimu kuzimanganya abacumuye+.

20 Ababavyaye* bazobibagira; inyo zizobagirako umusi mukuru.

Nta wuzosubira kubibuka+.

Abanyakibi bazovunika nka kurya kw’igiti.

21 Batoteza umugore w’ingumba,

bagafata nabi umupfakazi.

22 Imana izorandura abanyenkomezi ikoresheje ububasha bwayo.

Naho botera imbere, nta cizigiro co kubaho bafise.

23 Irabareka bakiyizigira, bakumva batekanye+,

ariko ivyo bakora vyose* irabibona+.

24 Bashirwa hejuru akanya gato hanyuma ntibabe bakiriho+.

Baracishwa bugufi+, bagapfa nk’abandi bose.

Bameze nk’amahundo y’ingano yaciwe.

25 Ni nde none yokwerekana ko ndi umubeshi

canke akampinyuza?»

25 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:

 2 «Ubutware n’inguvu ziteye ubwoba ni ivyayo.

Isasagaza amahoro mw’ijuru* hose.

 3 Mbega hari uwoharura ingabo zayo?

Hari n’umwe adashikirwa n’umuco wayo?

 4 None umuntu buntu yoba umugororotsi gute imbere y’Imana+?

Uwavyawe n’umugore yoba intungane* gute mu maso yayo+?

 5 Mbere n’ukwezi ntikwakaka imbere yayo!

Eka n’inyenyeri ntizisayangana* mu maso yayo!

 6 Nkanswe rero umuntu buntu ari urunyo,

n’umwana w’umuntu ari umusiba!»

26 Yobu yishura ati:

 2 «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu!

Ese ukuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!

 3 Mbega ukuntu uhaye impanuro nziza umuntu atagira ubwenge+!

Ese ukuntu ushize ahabona cane ubukerebutsi nyabwo!

 4 Ayo majambo uriko uyabwira nde?

Ni nde atumye uvuga ivyo bintu*?

 5 Abapfuye, barya ata co bagishoboye, barajugumira imbere y’Imana.

Bari munsi y’amazi n’ibiba muri yo.

 6 Ukuzimu kwambaye ubusa imbere y’Imana+.

Irabona n’aho ibiziga bisangukira*.

 7 Isanza ijuru* mu kirere+,

isi ikayitereka ku busa gusa.

 8 Itekera amazi mu bicu vyayo+,

ku buryo ibicu bidasaturwa n’uburemere bwayo.

 9 Ipfuka intebe yayo y’ubwami,

ikayisanzako igicu cayo+.

10 Yashizeho urubibe* rutandukanya ijuru n’ikiyaga+,

ishiraho urubibe rutandukanya umuco n’umwiza.

11 Inkingi z’ijuru ziranyiganyiga,

zikajugumira zumvise ugukankama kw’Imana.

12 Ituma ikiyaga gisuriranya ikoresheje inguvu zayo+,

ikajanjagura urukoko* rwo mu mazi ikoresheje ugutegera kwayo+.

13 Ituma ijuru riba irikeye ikoresheje impemu* zayo.

Amaboko yayo atobekeranya inzoka igoye gufata*.

14 Erega utwo ni udusunwa gusa tw’inzira zayo+!

Ivyo tumaze kwumva ku biyerekeye ni utwongoshwe gusa!

Ni nde none yotahura umuturagaro wayo ukomeye+?»

27 Yobu abandanya kuvuga ati:

 2 «Ndakurahiye Imana nzima, yo yanse kuntunganiriza+.

Ndakurahiye Mushoboravyose, we yatumye ubuzima bumbera umururazi+.

 3 Igihe cose nzoba ngihema,

impwemu y’Imana ikiri mu mazuru yanje+,

 4 iminwa yanje ntizovuga ibitagororotse,

n’ururimi rwanje ntiruzovuga ibinyoma mu ntamatama!

 5 Sinokwubahuka kubita abagororotsi!

Nzorinda mpfa ntarekuye* ugutungana kwanje+!

 6 Nzogumana ubugororotsi bwanje, sinzopfa ndaburekuye+.

Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza* igihe cose nzoba nkiriho*.

 7 Umwansi wanje arakaba nk’umubisha,

abandwanya na bo babe nk’inkozi z’ikibi.

 8 Mbega umuntu atubaha Imana* hari icizigiro aba agifise iyo aranduwe+,

iyo Imana imwatse ubuzima?

 9 Mbega Imana yokwumva amaborogo yiwe

igihe ashikiwe n’ivyago+?

10 Mbega azohimbarwa na Mushoboravyose?

Yoba azoguma atakambira Imana igihe cose?

11 Reka ndabigishe ivyerekeye ububasha bw’Imana*.

Sinobahisha ikintu na kimwe cerekeye Mushoboravyose.

12 Ko wumva mwese mweretswe,

kuki none muvuga ibintu ata co bimaze?

13 Uyu ni wo mugabane Imana iha umuntu w’umubisha+.

Ni yo ntoranwa Mushoboravyose aha abahahaza abandi.

14 Naho abana biwe bogwira, bazomarwa n’inkota+.

Abamukomokako ntibazoronka ibifungurwa bihagije.

15 Abazorusimba mu biwe bazokwicwa* n’ikiza,

kandi n’abapfakazi babo ntibazobaririra.

16 Naho yorundanya ifeza nk’uko barundanya umukungugu,

akegeranya impuzu nzizanziza nk’uko begeranya ibumba,

17 naho yokwegeranya izo mpuzu,

umugororotsi ni we azozambara+,

kandi abantu b’intungane ni bo bazogabura ifeza ziwe.

18 Inzu yiwe inganya ubukomezi n’inzu y’agakoko.

Imeze nk’akazu k’ubwugamo+ kubatswe n’umunyezamu.

19 Azoja kuryama ari umutunzi, ariko iryo tunga rizomuhomberako.

Niyikangura azosanga ata na kimwe asigaranye.

20 Ibintu bica ivutu bimuzako bukwi na bukwi nk’isegenya,

igihuhusi kikamukukumura mw’ijoro+.

21 Umuyaga wo mu buseruko uzomutwara agende akagirire.

Uzomuvumbura umukure aho yahora aba+.

22 Azogerageza kuwuhunga+,

ariko uzoguma umuhuhutirako ata kagongwe+.

23 Uzomutwengera mw’ijigo,

umusuzugurire+ aho wibereye*.

28 Hariho ikibanza bacukuramwo ifeza,

hakabaho n’ikibanza batyororeramwo inzahabu+.

 2 Ubutare bw’icuma babukura mw’ivu,

umujumpu na wo ukava mu mabuye bashongesheje+.

 3 Abantu baracokera mu mwiza,

bagacukura mu mwiza w’umuzitanya

barondera ubutare*.

 4 Barimba ibinogo kure y’aho abantu baba,

ahantu hibagiwe, kure y’aho abantu baca.

Bamwebamwe bamanukayo benena ku migozi.

 5 Ibifungurwa bimera hejuru kw’isi,

ariko munsi yayo harabiragira nk’ahabiragizwa n’umuriro*.

 6 Amabuye yaho arimwo safiro,

ivu ryaho na ryo ririmwo inzahabu.

 7 Iyo nzira nta gisiga na kimwe kiyizi,

n’ikinyamwanira cirabura nticigeze kiyibona.

 8 Ibikoko bikaze ntivyigeze biyihonyoramwo,

mbere n’intambwe ntiyigeze iyicamwo.

 9 Abantu bamenagura ibitandara vy’isare n’amaboko,

imisozi bakayirandurana n’imishinge yayo.

10 Baca imiserege y’amazi+ mu bitandara.

Nta buye ry’agaciro na rimwe batabona.

11 Bagomera amasoko y’inzuzi,

bagashira ahabona ivyari binyegejwe.

12 Ariko ubukerebutsi ga yemwe, umuntu yobukura he+?

Ni hehe hari isoko ry’ugutegera+?

13 Nta muntu n’umwe azi agaciro kabwo+,

kandi ntibuboneka mu gihugu c’abazima.

14 Amazi y’ibenga yavuze ati: “Ntiburi muri jewe!”

Ikiyaga na co giti: “Ntiburi iwanje+!”

15 Inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura,

kandi nta wobukaba ifeza naho zoba zingana iki+.

16 Inzahabu z’i Ofiri+ ntizobugura,

eka n’amabuye yitwa onigisi na safiro ntiyobugura.

17 Ntibwogereranywa n’inzahabu be n’ikiyo,

kandi nta wobukaba igikoresho c’inzahabu nzizanziza*+.

18 Ibuye ryitwa korali n’iryitwa kirisitalo yoyo ntiyovugwa+,

kuko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita*.

19 Ntibwogereranywa n’ibuye ry’i Kushi ryitwa topazi+,

kandi n’inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura.

20 None ubukerebutsi buva he?

Isoko ry’ugutegera riri hehe+?

21 Bwarahishijwe amaso yose y’abantu n’ay’ibikoko+,

bunyegezwa n’inyoni zose zo mu kirere.

22 Ukuzimu* n’urupfu vyavuze biti:

“Inkuru yabwo twayumvise ku matwi gusa!”

23 Imana ni yo izi inzira ija iyo buri.

Ni yo yonyene izi aho buba+,

24 kuko yitegereza gushika no ku mpera y’isi,

ikabona ibintu vyose biri munsi y’ijuru+.

25 Igihe yaha inguvu* umuyaga+,

igapima ingene amazi yose angana+,

26 igihe yashingira imvura amategeko+,

igacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,

27 ni ho yabona ubukerebutsi yongera irabusigura.

Yarabushinze yongera irabusuzuma.

28 Iraheza ibwira umuntu iti:

“Raba, ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi+,

kandi uguca kure ikibi ni kwo gutegera+.”»

29 Yobu abandanya kuvuga ati:

 2 «Icompa ngasubira kumera nko mu mezi yaheze,

ya misi ya kera aho Imana yangumizako ijisho,

 3 igihe itara ryayo ryakira hejuru yanje,

ngaca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+,

 4 igihe nari nkiritera nkarisama,

urugo rwanje rugifitaniye ubucuti bwiza n’Imana+,

 5 igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,

ngikikujwe n’abana* banje,

 6 igihe noza ibirenge vyanje mu mata*,

ibitandara na vyo bikancuncuburira imigezi y’amavuta+!

 7 Iyo ngiye kw’irembo ry’igisagara+

maze nkicara mu kibanza rusangi*+,

 8 imisore yarambona igataramuka*,

mbere n’abatama barahaguruka bakaguma bahagaze+.

 9 Abaganwa baririnda kuvuga,

bakifata ku munwa.

10 Abantu bahambaye baranuma,

ururimi rwabo rugafatana n’amagage.

11 Uwanyumva wese yaramvuga neza,

abambona bakanshingira intahe.

12 Kuko nafasha umukene ariko aratabaza+,

hamwe n’impfuvyi n’uwo wese atagira gitabara+.

13 Uwuri ku mpfiro yarampezagira+,

kandi naranezereza umutima w’abapfakazi+.

14 Nambara ubugororotsi nk’impuzu,

ubutungane bukambera nk’ikanzu* n’igitambara bazingira mu mutwe.

15 Nabera amaso impumyi,

nkabera ibirenge uwucumbagira.

16 Nari se w’aboro+.

Urubanza rw’abo ntazi nararwihweza neza+.

17 Naravunagura imibangabanga y’inkozi y’ikibi+,

ngashikura mu menyo yayo ico yacakiye.

18 Nahora mvuga nti: “Nzopfira mu rugo rwanje*+,

kandi imisi yanje izoba myinshi nk’udutete tw’umusenyi.

19 Imizi yanje izoshorera mu mazi,

kandi urume ruzoguma ku mashami yanje ijoro ryose.

20 Ubuninahazwa bwanje buzoguma bwiyubura,

kandi inguvu zanje ntizizokwigera zihera*.”

21 Abantu barantega ugutwi bitonze,

bakarindira impanuro yanje bacereje+.

22 Mpejeje kuvuga nta kindi bongerako.

Amajambo yanje yararyohera* ugutwi kwabo.

23 Barandindira nk’uko barindira imvura.

Bari bashashaye kunyumviriza nk’abarindiriye imvura y’impeshi+.

24 Iyo ndabatwengeye, babona ko ari iteka ntangere.

Babonye mpimbawe mu maso vyarabahumuriza*.

25 Narabereka inzira bakwiye gucamwo nk’umukuru wabo.

Nari mbayeho nk’umwami hagati y’ingabo ziwe+,

nk’umuntu ahoza abagandaye+.

30 Ariko ubu, abantu ndusha imyaka

basigaye bantwenga+,

abo ntari kwemera ko ba se

baja hamwe n’imbwa zicunga ibitungwa vyanje.

 2 None inguvu z’amaboko yabo zamariye iki?

Inkomezi zabo zarabaheranye.

 3 Ubukene n’inzara vyarabazingamitse.

Barondera utwo bahekenya ahantu hagadutse,

ahantu hamaze kwononekara kandi h’umusaka.

 4 Basoroma utwatsi turimwo umunyu tumera mu bisa⁠ka.

Imfungurwa zabo ni imizi y’uduti tw’umurotemu*.

 5 Barirukanywe mu kibano+.

Abantu babakomera induru nka kurya kw’igisuma.

 6 Baba mu mibande* ahantu hahanamye,

mu myobo no mu bitandara.

 7 Baborogera mu bisaka,

bakarundana mu vyatsi vy’ibisuru.

 8 Barirukanywe* mu gihugu

kubera bakomoka ku bantu b’imburabwenge kandi basuzuguritse*.

 9 None ubu basigaye bancokora no mu ndirimbo zabo+.

Nsigaye ndi agatwengo* kuri bo+.

10 Baranyanka kandi bakanca kure+.

Ntibatinya no kuncira mu maso+.

11 Basigaye bamfata uko bishakiye

kubera yuko Imana yanyatse ibirwanisho* ikancisha bugufi.

12 Bahaguruka iburyo bwanje nk’akagwi k’ababisha.

Barankinagiza

maze bagashira imitego mu nzira yanje kugira bandandure.

13 Barabomagura ibarabara ryanje,

bakunyura ivyago vyanje+,

kandi bakabigira ata camira*.

14 Baza nk’abaciye mu rutoboro runini rwo mu ruhome,

bagashwara ahantu h’umusaka.

15 Narengewe n’ubwoba.

Icubahiro canje cazimanganye nk’ikiguruwe n’umuyaga.

Ubukiriro bwanje bwakamanganye nka kurya kw’igicu.

16 None ehe ubuzima bwanje buriko burashira+.

Imisi y’amagorwa+ yancakiye.

17 Amagufa yanje arara arandya* cane+,

ububabare ntibwigera bumpa agahengwe+.

18 Impuzu yanje yaritunatunye n’inguvu nyinshi*.

Irandwega nka kurya kw’ikoro y’impuzu yanje.

19 Imana yantereye mu vyondo.

Nsigaye nsa n’umukungugu be n’iminyota.

20 Ndagutabaza ariko ntunyishura+.

Ndahagarara ariko ukaguma unyitegereza gusa.

21 Warampindutse ata kagongwe+,

undwanya ukoresheje inguvu zose z’ukuboko kwawe.

22 Uranduza, ukantwara mu muyaga,

hanyuma ukanzungagiriza mu gihuhusi*.

23 Ndazi ko uzonshikana mu rupfu,

muri ya nzu abantu bose bazoruhira kujamwo.

24 Ariko nta wokwubahuka gukubita uwavunitse*+,

kandi ariko aratabaza kubera ivyago.

25 Mbega sinahora ndira mbonye abashikiwe n’ivyago*?

Sinababara cane mbonye umuntu w’umworo+?

26 Naho nari nizigiye iciza, haje ikibi.

Nari niteze umuco ariko haje umwiza.

27 Mu mutima wanje sinigeze ntekana.

Nashikiwe n’imisi y’amarushwa.

28 Ntambuka nijiriwe+, nta n’umuco w’izuba uhari.

Ndahaguruka ngatabaza hagati mw’ishengero.

29 Nacitse mwenewabo n’imbwebwe,

ncika umugenzi w’ibinyoni vyitwa imbuni*+.

30 Urukoba rwanje rwarirabuye ruromoroka+.

Amagufa yanje araturira kubera ubushuhe.

31 Inanga yanje isigaye ivuzwa gusa mu kigandaro,

umwironge wanje ukavuzwa gusa mu guherekeza ijwi ry’abarira.

31 Nagiraniye isezerano n’amaso yanje+.

None nokwubahuka gute kuraba umugore w’abandi* mu buryo butabereye+?

 2 None ni umugabane uwuhe Imana yo mw’ijuru yompa?

Ni intoranwa iyihe nohabwa na Mushoboravyose ari iyo hejuru?

 3 Mbega ababisha ntibarindiriye gushikirwa n’ivyago,

abakora ibibi na bo bagashikirwa n’amagorwa+?

 4 Mbega Imana ntibona inzira zanje+

kandi igaharura intambuko zanje zose?

 5 Noba narigeze ngendera mu kinyoma*?

Ikirenge canje coba carihutiye kubesha+?

 6 Imana nimpime ku munzane utabesha+,

izoheza ibone ko ndi intungane+.

 7 Ikirenge canje nicaba carataye inzira+,

umutima wanje ukaba warakurikiye amaso yanje+

canke ibiganza vyanje bikaba vyaranduye,

 8 abandi baraca barya ivyo narimye+

bongere barandure ivyo nateragiye*.

 9 Umutima wanje ukaba waripfuje uwundi mugore+

canke nkaba narabundabunze+ ku muryango wa mugenzanje,

10 umugore wanje rero nasyere uwundi mugabo

kandi abandi bagabo baryamane na we*+.

11 Kuko iyo yoba ari inyifato iteye isoni.

Ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza+.

12 Woba ari umuriro utema ugatongora+,

ukayigiza umwimbu wanje wose gushika mu mizi*.

13 Nimba naranse gutunganiriza abashumba* banje

igihe bari bafise ico banyidogera*,

14 none nokora iki Imana inshize mu rubanza*?

Noyishura iki igize ico imbaza+?

15 Mbega uwandemeye mu nda ya mama si we yabaremye+?

Si we yatubumvye twese imbere y’uko tuvuka*+?

16 Nimba narimye abakene ico bipfuza+

canke ngatuma abapfakazi bihebura*+,

17 nimba narariye ibifungurwa vyanje jenyene

simpeko impfuvyi+,

18 (Nakuranye n’impfuvyi kuva nkiri muto, mba nka se wazo,

kandi namye mfasha abapfakazi kuva nkiri umwana*.)

19 nimba narigeze kubona uwishwe n’imbeho kubera atagira agahuzu

canke umukene atagira ico yipfuka+,

20 nimba yaranse kumpezagira*+

kubera ntamuhaye ubwoya bw’intama zanje ngo bumususurutse,

21 nimba narigeze gutera ubwoba* impfuvyi+

igihe yari ikeneye ko ndayifasha kw’irembo ry’igisagara*+,

22 ukuboko* kwanje rero nigutandukane n’ibitugu

kandi kuvunikire mu nkokora*.

23 Kuko natinya icago kivuye ku Mana

kandi sinari gushobora guhagarara imbere y’ubuninahazwa bwayo.

24 Nimba narizigiye inzahabu,

canke nkabwira inzahabu nzizanziza nti: “Ni wewe mpanze amaso+”,

25 nimba umunezero wanje wava kw’itunga ryinshi mfise+

kubera ubutunzi bwinshi nari nararonse+,

26 nimba narigeze kubona izuba* rikayangana

canke ukwezi kugendagenda mu bwiza bwakwo+,

27 hanyuma umutima wanje ukoshwa mu mpisho

maze nkabisenga mu gusoma ikiganza canje+,

28 iryo rero ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza,

kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri iri mw’ijuru.

29 Noba narigeze mpimbarwa n’uko umwansi wanje yatikiye+,

canke ngo nezerwe kubera yashikiwe n’ivyago?

30 Sinigeze nemerera akanwa kanje gucumura

mu kurahira ndamwipfuriza urupfu+.

31 Mbega abo mw’ihema ryanje ntibavuze bati:

“Ni nde yozana umuntu atahagijwe n’ibifungurwa* vyiwe+?”

32 Nta kavamahanga yarara hanze+.

Nama nugururiye imiryango abahita.

33 Noba narigeze ngerageza gupfuka ibicumuro vyanje nk’abandi+

mu guhisha ikosa ryanje mu mupfuko w’impuzu?

34 Noba naratinye isinzi ry’abantu,

canke ngaterwa ubwoba n’uko iyindi miryango yonsuzugura,

ku buryo nguma numye, ngatinya gusohoka hanze?

35 Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,

nosinya* nkemeza ko ivyo navuze ari ukuri!

Mushoboravyose nanyishure+!

Ese iyaba uwunyagiriza yanditse ibirego vyiwe!

36 Nobitwaye ku rutugu rwanje,

nkabibohera ku mutwe wanje nk’urugori.

37 Nokwisiguye imbere y’Imana ku vyo nakoze vyose,

nkayegera ntekanye nk’umuganwa.

38 Nimba umurima wanje waratakamvye unyidogera,

n’amaburi baciye muri wo akaririra hamwe,

39 nimba narariye umwimbu wawo kuri gusa+

canke ngatuma benewo bihebura+,

40 uwo murima rero uraca umera amahwa mu kibanza c’ingano,

umere ivyatsi binuka mu kibanza ca sayiri.»

Amajambo ya Yobu agarukiye aha.

32 Nuko abo bagabo batatu bareka kugerageza kwishura Yobu, kuko yabona ko ari umugororotsi+. 2 Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi+ wo mu muryango wa Ramu yari yashavuye cane. Yari ashavuriye Yobu kubera yariko agerageza kwerekana ko ari we ari mu kuri, aho kuvuga ko Imana ari yo iri mu kuri+. 3 Vyongeye, yari ashavuriye cane ba bagenzi batatu ba Yobu, kuko bari babuze ico bishura ahubwo bakegeka amakosa ku Mana+. 4 Elihu yari yabaye ararindira kwishura Yobu kuko bamurusha imyaka+. 5 Elihu abonye ko ba bagabo batatu babuze ico bishura, aca ararungura n’ishavu. 6 Elihu mwene Barakeli w’i Buzi araheza afata ijambo, avuga ati:

«Ndacari muto*

ariko mwe murakuze+.

Ni co gituma nabubashe nkigumya+,

sintinyuke kubabwira ico nzi.

 7 Nari nibwiye nti: “Reka abatama* bavuge.

Abafise imyaka myinshi nibamenyeshe ubukerebutsi.”

 8 Mugabo impwemu iri mu bantu,

impemu za Mushoboravyose ni zo ziha abantu ubwenge*+.

 9 Imyaka gusa si yo ituma umuntu aba inkerebutsi,

kandi abatama bonyene si bo batahura ibigororotse+.

10 Ni co gituma mvuze nti: “Nimunyumvirize,

nanje ndababwire ico nzi.”

11 Raba narindiriye amajambo yanyu,

ndatega ugutwi ivyiyumviro vyanyu+

igihe mwariko murondera ikintu gitomoye mwovuga+.

12 Nagumye ndabateze yompi,

ariko nta n’umwe yashoboye kwerekana ko Yobu ari mw’ikosa*,

canke ngo aronke ico yishura ku majambo yiwe.

13 Ntimuvuge rero ngo: “Turafise ubukerebutsi.

Imana ni yo yerekana ko ari mw’ikosa, si umuntu.”

14 Amajambo yiwe ntiyayerekeje kuri jewe.

Ni co gituma ntamwishura nkoresheje ivyiyumviro vyanyu.

15 Ehe raba bajumarariwe, nta co bagifise bishura.

Nta kintu basigaranye bavuga.

16 Narindiriye ariko ntibasubiye kuvuga.

Baguma bahagaze ng’aho gusa, ata kindi bishura.

17 Nanje rero ngira mvuge,

ngira menyeshe ico nzi,

18 kuko nuzuye amajambo.

Impwemu iri muri jewe ntinkundira kunuma.

19 Imbere muri jewe hameze nk’umuvinyu utagira ihemero,

nk’imikuza mishasha y’inshato igira iturike+.

20 Nimundeke mvuge kugira nduhuke.

Ngira nteranure akanwa nishure.

21 Nta muntu n’umwe nza kugirira nkunzi+,

kandi nta we nza gusiga inkore ku maso*,

22 kuko je ntazi gusigana inkore ku maso.

Hamwe nobigira, uwandemye yoca ankuraho ubwo nyene.

33 Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje.

Nutege ugutwi ivyo mvuga vyose.

 2 Ntegerezwa kwugurura akanwa.

Ururimi* rwanje rutegerezwa kuvuga.

 3 Amajambo yanje ndayavugana umutima ugororotse+.

Iminwa yanje ivuga ivyo nzi ata buryarya.

 4 Impwemu y’Imana yarandemye+,

impemu za Mushoboravyose zarampaye ubuzima+.

 5 Nunyishure nimba ubishoboye.

Niwitegure unshikirize ivyiyumviro vyawe.

 6 Imbere y’Imana y’ukuri meze nkawe.

Na jewe nabumbwe mw’ibumba+.

 7 Sindagutere ubwoba rero

kandi nturengerwe n’amajambo yanje.

 8 Ariko numvise ivyo wavuze.

Nagumye numva aya majambo ngo:

 9 “Ndatyoroye, nta gicumuro nakoze+.

Ndera, nta kosa na rimwe mfise+.

10 Ariko Imana ntibura imvo zo kundwanya.

Imfata nk’umwansi wayo+.

11 Yaraboshe amaguru yanje*,

iguma isuzuma inzira zanje zose+.”

12 Mugabo ivyo wavuze si vyo. Ngira ndakwishure rero.

Imana iraruta umuntu kure n’iyo+.

13 Kubera iki none uyidogera+?

Hoba ari kubera itakwishuye ku majambo yawe+?

14 Kuko Imana ivuga rimwe, ikavuga n’irya kabiri,

(ariko nta n’umwe avyitaho)

15 ikabigira mu ndoto, mu kubonekerwa kwo mw’ijoro+,

igihe abantu baba batwawe n’agatiro,

baryamye mu bitanda vyabo.

16 Iraheza ikugurura amatwi yabo+,

igashimangira* amategeko yayo muri bo,

17 kugira ibuze umuntu gukora ikibi+

yongere imukingire ubwishime+.

18 Imana irinda ubuzima bwiwe icobo*+,

igakingira ubuzima bwiwe inkota*.

19 Umuntu kandi arakosorwa n’ububabare bwo ku gitanda ciwe,

hamwe n’ububabare budahera bw’amagufa yiwe,

20 ku buryo n’umukate* usigara umushisha,

akanka kurya n’ibifungurwa biryoshe+.

21 Umubiri wiwe uronda ugashira,

agasigara ku magufa gusa.

22 Ubuzima bwiwe bwegera icobo,

ubwiwe akegera abateza urupfu.

23 Ariko habonetse intumwa* iza kuri we,

umuvugizi umwe mu gihumbi,

kugira imubwire ingene yoba umugororotsi,

24 Imana iraheza ikamugirira ubuntu, ikavuga iti:

“Mureke ntamanuke mu cobo+!

Naronse incungu+!

25 Umubiri wiwe nutotahare* kurusha mu buto+.

Nasubire kugira inkomezi nk’izo mu buto+.”

26 Azotakambira Imana+, na yo imugirire ubuntu.

Azokwiha akaruru k’umunezero abonye mu maso hayo,

kandi izosubira kumubona nk’umugororotsi.

27 Uwo muntu azobwira* abandi ati:

“Naracumuye+ kandi ndagoramika ibigororotse,

ariko sinabihaniwe*.

28 Yarancunguye ngo sinje mu cobo+,

kandi ubuzima bwanje buzobona umuco.”

29 Emwe, Imana irakora ivyo bintu vyose,

ikabikora kabiri mbere na gatatu, ibikorera umuntu,

30 kugira imukure mu cobo,

kugira ahimbarirwe umuco w’ubuzima+.

31 Ntega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!

Guma uhoze nanje mbandanye kuvuga.

32 Nimba hari ico ufise uvuga, nunyishure.

Nuvuge, kuko nshaka kwerekana ko uri mu kuri.

33 Nimba ata co ufise uvuga na ho, nunyumvirize.

Nucereze, nanje nkwigishe ubukerebutsi.»

34 Elihu abandanya kwishura ati:

 2 «Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi.

Nimunyumve mwe muzi ibintu vyinshi.

 3 Kuko ugutwi gusuzuma amajambo

nka kurya ururimi* ruhonja ibifungurwa.

 4 Reka twisuzumire ikigororotse ico ari co,

twihitiremwo iciza ico ari co.

 5 Kuko Yobu avuga ngo: “Ndi mu kuri+,

ariko Imana yaranse kuntunganiriza+.

 6 Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza nkwiriye?

Naho ata kosa mfise, igikomere canje ntigikira+.”

 7 Ni nde muntu ameze nka Yobu,

agotomera agahemo nk’amazi?

 8 Ari mu nzira yo kwifatanya n’inkozi z’ikibi,

ari hafi yo kugendana n’ababisha+.

 9 Kuko avuga ngo: “Nta co bimariye umuntu

kugerageza guhimbara Imana+.”

10 Nimunyumvirize rero, yemwe bantu muri n’ugutegera*:

Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha+,

ko Mushoboravyose yokora ikibi+!

11 Kuko izohemba umuntu yisunze ivyo akora+,

igatuma ashikirwa n’ingaruka z’ingeso ziwe.

12 Ni ukuri, Imana ntikora ivy’ububisha+.

Mushoboravyose ntagoreka urubanza+.

13 Ni nde yayihaye gutwara isi,

akayigena ngo iganze isi yose*?

14 Hamwe yoshira umutima ku bantu,

ikisubizako impwemu yabo be n’impemu bahema+,

15 abantu bose boca bapfira rimwe,

bose boca basubira mu mukungugu+.

16 Nimba rero ufise ugutegera, nunyumvirize.

Nutege ugutwi ivyo ndakubwira.

17 Mbega umuntu yanka ubutungane yoba akwiye kuganza?

Canke wocira urubanza rubi umunyabubasha agororotse?

18 Mbega wobwira umwami ngo: “Nta co umaze”,

canke abanyacubahiro ngo: “Muri ababisha+”?

19 Hariho uwutagirira nkunzi abaganwa,

ntagirire ubutoni umutunzi ngo amurutishe umukene*+,

kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+.

20 Boshobora gupfa giturumbuka+, hagati mw’ijoro+.

Barajugumira cane maze bagacikana.

Mbere n’abanyabubasha barakurwaho, ariko bidakozwe n’amaboko y’abantu+.

21 Kuko amaso y’Imana yitegereza inzira z’umuntu+,

kandi irabona intambuko ziwe zose.

22 Nta mwiza canke igitutu cijimye bihari,

aho abagizi ba nabi bashobora kwinyegeza+.

23 Kuko Imana itashingiye umuntu igihe

co kurenguka mu rubanza imbere yayo.

24 Ivunagura abanyabubasha itarinze kugira amatohoza,

maze igashira abandi mu bibanza vyabo+.

25 Kuko izi ivyo bakora+.

Irabatembagaza mw’ijoro, bakamenagurika+.

26 Irabakubita kubera ububisha bwabo,

ikabakubitira aho abantu bose babona+,

27 kuko bahevye kuyikurikira+

kandi ntibiteho inzira zayo+.

28 Batuma umukene ayitabaza ariko ararira,

ku buryo yumva amarira y’abatagira gitabara+.

29 Mbega Imana ihisemwo kwihorera, ni nde yoyicira urubanza?

Ni nde yoyibona iramutse ihishije mu maso hayo?

Yaba ihahishije umuntu canke ihanga ryose, vyose ni cokimwe.

30 Ntiyemera ko umuntu atubaha Imana* aganza+

canke ngo atege imitego abantu.

31 None hari uwokwubahuka kubwira Imana ngo:

“Ndiko ndahanwa naho ata kosa nakoze+.

32 Nunyereke ivyo bintu nakoze sindabimenye.

Nimba hari ikibi nakoze, sinzogisubira”?

33 Mbega yogushumbusha uko ushatse ngo ni uko wanse urubanza rwayo?

Aho ni wewe wihitiramwo, si jewe.

Ubu rero mbwira nawe ivyo uzi.

34 Abantu bose bafise ugutegera banyumva,

mbere umuntu wese afise ubwenge anyumva, yovuga ati:

35 “Yobu avuga ivyo atazi+,

kandi amajambo yiwe nta bwenge* arimwo.”

36 Yobu nagezwe* gushika kw’iherezo

kuko yishura nk’abantu b’ababisha.

37 Igicumuro ciwe acongerako ukugarariza+.

Akubita urushi ku rundi n’agasuzuguro imbere yacu,

akavuga amajambo menshi yo kwagiriza Imana y’ukuri+.»

35 Elihu abandanya kwishura ati:

 2 «Aho urabona neza ko uri mu kuri ku buryo uvuga ngo:

“Ndagororotse kurusha Imana+”?

 3 Kuko uvuga ngo: “Bimaze iki*?

Hari ico nungutse ngo ni uko ntacumuye+?”

 4 Reka ndakwishure

mwe na bagenzawe+ muri kumwe.

 5 Rangamiza hejuru urabe,

witegereze ibicu+ biri hejuru yawe.

 6 Mbega iyo ucumuye, uyigira iki+?

Ivyaha vyawe vyongerekanye, biyitwara iki+?

 7 Nimba uri umugororotsi, biyimarira iki?

Mbega hari ico biyungura+?

 8 Ububisha bwawe bugirira nabi umuntu nkawe gusa,

n’ubugororotsi bwawe bwungura umwana w’umuntu gusa.

 9 Abantu baguma batabaza kubera agahahazo gakomeye.

Baguma batabaza ngo bakurweko agacinyizo* k’abahambaye+.

10 Ariko nta n’umwe abaza ati: “Imana iri hehe, Umuremyi wanje ahambaye+,

umwe atuma abantu bahibongoza uturirimbo mw’ijoro+?”

11 Ni yo itwigisha+ kuruta ibikoko vyo kw’isi+,

ikaducisha ubwenge kuruta inyoni zo mu kirere.

12 Abantu baguma batabaza, ariko ntiyishura+,

kubera ubwishime bw’ababisha+.

13 Erega Imana ntiyumva abantu bikomesha amaruru*+.

Mushoboravyose ntabitaho na gatoyi.

14 Hari akantu wewe uguma widoga ngo ntuyibona+!

Urubanza rwawe ruri imbere yayo, nuyirindire ubishashaye rero+.

15 Kuko itagushavuriye ngo ikubaze ivyo wakoze,

canke ngo ishire umutima ku majambo yawe yo guhuruduka+.

16 Yobu avuga ibintu bitagira akamaro.

Avuga amajambo menshi ku bintu atazi+.»

36 Elihu arabandanya ati:

 2 «Nyihanganire kandi gatoyi ndagusigurire,

kuko ngifise ibindi mvuga ku vyerekeye Imana.

 3 Ngira mvuge ivyo nzi vyose,

nerekane ko uwandemye agororotse+.

 4 Ni ukuri, ivyo mvuga si ikinyoma.

Umwe afise ubumenyi butagira agahaze+ ari aho imbere yawe.

 5 Imana irahambaye+ ariko nta n’umwe ikengera.

Ifise ubushobozi bwo gutegera bukomeye.

 6 Ntikingira ababisha ngo ntibapfe+,

ariko iratunganiriza abigorewe+.

 7 Yamiza ijisho ryayo ku bagororotsi+.

Ibicarika hamwe n’abami*+, ikabashira hejuru ibihe vyose.

 8 Ariko iyo baboheshejwe iminyororo,

bagafatwa n’imigozi y’amarushwa,

 9 ica ibamenyesha ivyo bakoze,

amakosa bakoze kubera ubwishime bwabo.

10 Irabugurura amatwi kugira ibakosore,

ikababwira ngo bareke gukora ibibi+.

11 Bagamburutse bakemera kuyikorera,

imisi yose basigaje bayimara bahimbawe,

imyaka yabo bakayimara banezerewe+.

12 Ariko banse kugamburuka, bamarwa n’inkota*+

kandi bagapfa ata bumenyi baronse.

13 Abantu batubaha Imana* bamana umwikomo.

Naho yobaboha ntibatabaza ngo ibafashe.

14 Urupfu rubahitana bakiri bato+,

kuko bamara ubuzima bwabo mu bamaraya*+.

15 Ariko Imana itabara abarushwa mu magorwa yabo,

igatuma bayumviriza iyo bariko barahahazwa.

16 Igukura mu vyago+

ikagushira ahantu hagutse, hatagira inkomanzi+,

imeza yawe ikayuzuza ibifungurwa vyizavyiza kugira iguhoze+.

17 Uzoheza uhimbarwe n’urubanza rw’ababisha+,

nihagera ko rutangazwa, n’ubutungane bugakurikizwa.

18 Ariko wiyubare kugira ishavu ntiritume ukora ububisha*+,

kandi ntureke ngo igiturire kinini kiguteshe inzira.

19 Mbega ugutabaza kwawe

canke akigoro ugira vyotuma udashikirwa n’ivyago+?

20 Ntukipfuze ijoro,

igihe abantu baba bakamanganye mu bibanza vyabo.

21 Uraba maso ntukore ikibi,

ngo abe ari co uhitamwo aho kwemera amagorwa+.

22 Raba! Imana iri hejuru cane kubera ububasha bwayo.

Ni nde mwigisha ameze nka yo?

23 Ni nde yoyirangira* inzira icamwo+,

canke akayibwira ati: “Ivyo wakoze si vyo+”?

24 Wibuke guhayagiza ibikorwa vyayo+,

ivyo abantu bahora baririmba+.

25 Abantu bose baravyihweza,

bakabirabira kure.

26 Emwe, ntidushobora gutahura ububasha bw’Imana+.

Nta woshobora kumenya* imyaka ifise+.

27 Iduza utumatuma tw’amazi+,

igipfungu kigafatana kikavamwo imvura.

28 Ibicu biraheza bikayirekura+,

maze igatonyangira ku bantu.

29 Ni nde yomenya ingene ibicu bikwiragira hose?

Hari uwomenya ingene umuturagaro uva mw’ihema* ryayo+?

30 Raba ingene irabiriza umuravyo*+ kuri ryo,

igapfuka ibwina* mu kiyaga.

31 Ivyo ni vyo ikoresha kugira abantu babandanye kubaho*.

Ibaronsa ibifungurwa ku bwinshi+.

32 Ifata umuravyo mu kuboko kwayo,

ikawutumbereza ku co ishaka+.

33 Umuturagaro wayo uramenyesha ko ije,

mbere n’ibitungwa biratangaza uwuje uwo ari we*.

37 Ndavyiyumviriye umutima wanje urasimba,

ukadidagizwa ukava mu kibanza cawo.

 2 Nimwumvirize neza ukwasirana kw’ijwi ryayo,

n’umuturagaro uva mu kanwa kayo.

 3 Ukwasana kwayo kwumvikana munsi y’ijuru hose,

umuravyo wayo+ ugashika ku mpera y’isi.

 4 Inyuma y’aho ijwi rica risamirana.

Iraturagara n’ijwi rikomeye+,

kandi uwo muravyo ntuhagarara naho ijwi ryayo riba ryumvikanye.

 5 Ijwi ry’Imana rituragara+ mu buryo butangaje.

Ikora ibintu bikomeye tudashobora gutahura+.

 6 Kuko ibwira urubura* iti: “Gwa kw’isi+!”

Igategeka imvura iti: “Gwa ku bwinshi+!”

 7 Imana ihagarika ibikorwa vy’abantu bose*

kugira ngo umuntu wese amenye igikorwa cayo.

 8 Ibikoko vyo mw’ishamba binyegera mu myobo yavyo

kandi bikigumira aho vyibera.

 9 Umuyaga urahuhuta uvuye mu kibanza cawo+,

imbeho na yo ikazanwa n’imiyaga yo mu buraruko+.

10 Impemu z’Imana zituma haboneka ibibarafu+,

amazi yo mu nzuzi na yo agafatana, akamera nk’ibuye+.

11 Ituma ibicu biremera kubera ubukanye,

igatuma imiravyo yayo+ irabagiza mu bicu.

12 Birazunguruka bikaja iyo ibirungitse,

bigashitsa ivyo ibitegetse vyose+ kw’isi*.

13 Ivyo irabigira kugira ihane abantu+ canke kugira ivomere isi,

canke kugira yerekane urukundo* rwayo+.

14 Umviriza Yobu.

Tekana, uzirikane witonze ibikorwa bitangaje vy’Imana+.

15 Mbega urazi ingene Imana iyobora* ibicu?

Canke urazi ingene ituma imiravyo irabiriza mu bicu?

16 Urazi ingene ibicu vyenena mu kirere+?

Ivyo ni ibikorwa bitangaje vy’umwe afise ubumenyi butagira agahaze+.

17 Urazi igituma impuzu zawe zishuha

igihe isi iba itekanye kubera umuyaga wo mu bumanuko+?

18 Mbega woshobora gufadikanya na yo mu gusanza* ijuru+,

rigakomera nk’icirore c’icuma?

19 Tumenyeshe ivyo twoyibwira.

Ntidushobora kuyishura kuko turi mu mwiza.

20 Mbega irakeneye uwuyibwira ko nshaka kuvuga?

Canke irakeneye kumenyeshwa ivyo umuntu yavuze+?

21 Nta n’ubwo abantu bashobora kubona umuco*

naho ukayangana kw’ijuru,

kiretse haje umuyaga ugatwara ibicu biwukingiriye.

22 Ubwiza bwakaka nk’inzahabu buzanana mu buraruko.

Icubahiro c’Imana+ kirateye ubwoba.

23 Ntidushobora gutahura Mushoboravyose+.

Ububasha bwiwe burarenze+,

kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe+ n’ubugororotsi bwiwe bwinshi+.

24 Abantu rero bakwiye kumutinya+.

Ntiyigera atonesha abigira abanyabwenge*+.»

38 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:

 2 «Uwo ni nde atora amahinyu umugambi* wanje,

akavuga ibintu atazi+?

 3 Kenyera zigume, uhagarare nk’umugabo.

Ngira ndakubaze, nawe unyishure.

 4 Wari hehe igihe narema isi+?

Mbwira nimba ubizi.

 5 Ni nde yashinze ibipimo vyayo, nimba ubizi?

Canke ni nde yafashe umugozi akayipima?

 6 Inkingi zayo zihagaze ku ki?

Canke ni nde yashinze ibuye ryayo rigumya imfuruka+,

 7 igihe inyenyeri zo mu gatondo+ ziha akaruru k’umunezero ziri hamwe,

igihe abamarayika* bose+ basamiriza impundu?

 8 Ni nde yatangiriye ikiyaga akoresheje imiryango+

igihe carindimuka kivuye mw’isôko ryaco?

 9 Igihe nacambika ibicu,

nkagitwikira mu mwiza w’umuzitanya,

10 igihe nagishingira akarimbi,

nkagishiriraho ivyugazo n’imiryango+,

11 nkakibwira nti: “Aha ni ho uzogarukira, ntuze uharenge.

Aha ni ho imikuba yawe isuriranya izogarukira+.”

12 Mbega* warigeze uha amategeko igitondo

canke ukamenyesha umutwenzi aho utangurira+,

13 kugira ufate impera z’isi

maze ukunkumure ababisha bave kuri yo+?

14 Isi irahinduka, ikamera nk’ibumba munsi y’ikidodo,

ibiri kuri yo bikibonekeza nk’amabara y’impuzu.

15 Ariko ababisha baba batswe umuco wabo,

ibikorwa vyabo bibi biba bihagaze*.

16 Mbega uramaze kumanuka gushika ku masôko y’ikiyaga,

canke uramaze kugendura amazi yo mw’ibenga+?

17 Mbega uramaze kwerekwa amarembo y’urupfu+,

canke uramaze kubona amarembo y’umwiza w’umuzitanya*+?

18 Mbega uratahura ubwaguke bw’isi+?

Mbwira ivyo vyose nimba ubizi.

19 Mbega umuco uba hehe+?

Umwijima wowo uherereye hehe,

20 ku buryo wobijana gushika aho biba

kandi ukamenya inzira ijayo?

21 Mbega wari umaze kuvuka ku buryo wobimenya?

Woba ufise imyaka* ihagije ku buryo wobitahura?

22 Mbega uramaze kwinjira mu bigega vya shelegi*+,

canke uramaze kubona ibigega vy’urubura+,

23 ivyo nabikiye igihe c’ivyago

hamwe n’umusi w’urugamba n’intambara+?

24 Umuco* ukwiragira uzananye inzira iyihe,

canke umuyaga wo mu buseruko uhuhutira kw’isi uzananye he+?

25 Ni nde yaciriye imiserege imyuzurira,

agacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,

26 kugira agwishe imvura ahantu hataba abantu,

mu gahinga katagiramwo umuntu n’umwe+,

27 kugira ajobeke ahantu humye hakagaduka

no kugira atume hamera ivyatsi+?

28 Mbega imvura irafise se+?

Canke ni nde yavyaye urume+?

29 Ni nde yavyaye ibibarafu,

canke udutete tw’urubura dukoroka tuva kw’ijuru+?

30 Ni nde atuma amazi yo mu biyaga afatana akamera nk’ibuye,

hejuru y’amazi y’ibenga hagakonja hagacika ibarafu+?

31 Mbega woshobora kuboha imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kima*,

canke ukabohora imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kesili*+?

32 Woshobora kuzana umugwi w’inyenyeri* igihe cawo kigeze,

canke ukayobora umugwi w’inyenyeri witwa Ashi* n’abana bawo?

33 Mbega urazi amategeko agenga ijuru+?

Canke woshobora gutuma ayo mategeko* akora kw’isi?

34 Woshobora kuduza ijwi rigashika ku bicu

kugira hagwe imvura nyinshi maze ikunyagire+?

35 Woshobora kurungika imiravyo ikagenda,

hanyuma ikagaruka ikakubwira iti: “Turi hano”?

36 Ni nde yahaye ubwenge* ibicu*+?

Canke ni nde yahaye ugutegera ibintu bitangaje biba mu kirere*+?

37 Ni nde aciye ubwenge ku buryo yoharura ibicu?

Ni nde yoshobora gucuranura imibindi y’amazi yo kw’ijuru+?

38 Ni nde atuma umukungugu ucika ivyondo,

agatuma n’ibinonko vyo kw’isi bifatana?

39 Mbega woshobora guhigira intambwe ico irya?

Canke woshobora guhaza imikangara y’intambwe+,

40 igihe zibunze aho ziba

canke igihe ziryamiye mu myobo yazo?

41 Ni nde ategurira igikona ivyo kirya+

igihe ibiswi vyaco biguma bitabaza Imana,

bikaguma biyerera irya n’ino kubera vyabuze ico birya?

39 Mbega urazi igihe impene zo mu misozi zivyarira+?

Uramaze kubona impongokazi ziriko ziravyara+?

 2 Mbega uramaze guharura ikiringo zimara zifise amezi?

Urazi igihe zivyarira?

 3 Zirasutama kugira zivyare,

maze ububabare bwazo bugahera.

 4 Imyagazi yazo irakomera kandi igakurira mu gahinga.

Irigira ntigaruke kwa nyina.

 5 Ni nde yahaye umwidegemvyo indogobwa yo mw’ishamba+?

Ni nde yabohoye imigozi yayo?

 6 Nayigeneye kuba mu biyaya vy’ubugaragwa,

nshinga ko iba kw’isi y’umunyu.

 7 Isuzugura urwamo rwo mu bisagara.

Ntiyumva ugukankama kw’uwuyiyoboye.

 8 Ikwiragira imisozi irondera aho irisha,

ikarondera ahantu hose hari ubwatsi butoto.

 9 Mbega ishuri yo mw’ishamba* yokwemera kugukorera+,

canke yokwemera kurara mu ruhongore rwawe?

10 Mbega woyibohesha umugozi kugira ikurimire,

canke yogukurikira ugiye kuyirimisha* mu kiyaya?

11 Mbega woyizigira ngo ni uko ifise inguvu nyinshi,

ukayireka ngo ikore ibikorwa vyawe biruhisha?

12 Mbega wokwizigira ko ikuzanira ivyo wimbuye*,

ikavyegeraniriza ku mbuga* yawe?

13 Ikinyoni citwa imbuni kiratababiza kinezerewe,

ariko none amababa yaco hari aho ahuriye n’ay’agasoza+?

14 Gisiga amagi yaco hasi,

kikayareka agashuhira mu mukungugu.

15 Kiribagira ko ikirenge c’umuntu coyafyonyora

canke ko igikoko gishobora kuyahonyanga.

16 Gifata nabi ibiswi vyaco nk’aho umengo si ivyaco+.

Ntigitinya ko cohava gisanga caruhiye ubusa.

17 Kuko Imana yacimye* ubukerebutsi,

kandi nta bwenge* yagihaye.

18 Ariko iyo gitababije kikiruka,

kiratwenga ifarasi n’uwuyigenderako.

19 Mbega ni wewe uha inguvu ifarasi+?

Ni wewe uyambika umugāra uhungabana?

20 Mbega wotuma itaruka nk’inzige?

Ugupfuhagira kwayo kurateye ubwoba+.

21 Ikubitagura ikirenge hasi mu kiyaya, ikiginagura n’inguvu+.

Iriruka ikaja mu rugamba*+.

22 Iratwenga ubwoba kandi nta na kimwe itinya+.

Ntihunga kubera inkota.

23 Agasaho k’imyampi kagenda karajegera kuri yo,

amacumu agaca ibibatsi kuri yo.

24 Iravuduka* kubera ihahamiye kuja ku rugamba.

Ntiguma hamwe* yumvise ijwi ry’inzamba.

25 Ijwi ry’inzamba ripfa kuvuga, na yo iti: “Ahaa!”

Imoterwa n’intambara ikiri kure cane,

ikumva urwamo rw’abakomanda n’akaruru k’intambara+.

26 Mbega ubwenge* bwawe ni bwo butuma agaca kārāra,

kakaguruka kerekeza mu bumanuko?

27 Canke ni wewe utegeka inkona kuguruka mu kirere+,

ikarika icari cayo hejuru cane+?

28 Yirarira hejuru y’imanga,

ikibera ku gitandara*, ahantu hagoye gushika.

29 Irondera ivyo irya yibereye ng’aho+.

Amaso yayo abona kure cane.

30 Ibiswi vyayo binunuza amaraso,

kandi ahari ibiziga ni ho ibarizwa+.»

40 Yehova abandanya kwishura Yobu ati:

 2 «Mbega umuntu* yohaririza Mushoboravyose+?

Uwushaka gukosora Imana niyishure+.»

 3 Yobu aca yishura Yehova ati:

 4 «Erega jewe ndi ubusa+.

Ubona nokwishura iki?

Nifashe ku munwa+.

 5 Navuze rimwe, ariko sinsubira kwishura.

Ahubwo ni kabiri, ariko nta kindi nongerako.»

 6 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:

 7 «Kenyera zigume, uhagarare nk’umugabo.

Ngira nkubaze, nawe unyishure+.

 8 Mbega wovuguruza* ingingo nafashe?

Wonkubita intahe mu gahanga kugira uboneke ko uri mu kuri+?

 9 Woba ufise ukuboko gukomeye nk’ukw’Imana y’ukuri+?

Canke ijwi ryawe ryoshobora guturagara nk’iryayo+?

10 Ehe niwisharize ubuninahazwa n’ubukuru,

wambare iteka n’ubwiza buhebuje.

11 Nurekure ishavu ryawe ryose,

urabe umuntu wese yishira hejuru maze umushire hasi.

12 Nurabe umuntu wese yishira hejuru umucishe bugufi,

uhonyangire ababisha aho bari.

13 Nubazike mu mukungugu bose,

ubabohere* ahantu hinyegeje.

14 Nanje rero ndaheza nemere*

ko ukuryo kwawe gushobora kugukiza.

15 Ehe ng’iyi Behemoti*, iyo naremye nk’uko nawe nakuremye.

Irisha ivyatsi nka kurya kw’impfizi y’inka.

16 Raba inguvu ifise mu kiyunguyungu,

n’ukuntu ifise inda ikomeye!

17 Iradadaza umurizo ukamera nk’igiti c’isederi.

Imitsi yo ku matako yayo irasobekeranye.

18 Amagufa yayo ameze nk’umujumpu.

Amaguru yayo ameze nk’ingegene z’icuma.

19 Ni agahebuza* mu vyo Imana yaremye.

Uwayiremye ni we gusa ashobora kuyegera afise inkota.

20 Ibimera ku misozi ni vyo yirira,

aho ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikinira.

21 Yiryamira munsi y’uduti twitwa umukugutu,

mu gitutu c’amarenga y’ahantu hari urushanga.

22 Uduti tw’umukugutu tuyipfukisha igitutu catwo,

ibiti vyo mu mwonga* na vyo bikayikikuza.

23 Naho uruzi rwohumagana, yoyo ntigira ubwoba.

Iguma itekanye naho uruzi Yorodani+ rwokwisuka kuri yo.

24 Hari uwoyifata ibona,

canke akayitobora izuru akoresheje igera*?

41 Mbega woshobora gufata Lewiyatani*+ ukoresheje igera

canke ugafatira hasi ururimi rwayo ukoresheje umugozi?

 2 Woshobora gucisha umugozi* mu mazuru yayo

canke ugatobora imibangabanga yayo ukoresheje igera*?

 3 Mbega yoguma ikwinginga igusaba imbabazi

canke ikakuvugisha n’ubwitonzi?

 4 Mbega yogiranira nawe isezerano

kugira ikubere umushumba ubuzima bwayo bwose?

 5 Mbega woyikinisha nk’uwukinisha inyoni?

Canke woyizirika kugira udukobwa twawe tuyikinishe?

 6 Mbega abadandaza boyiciriranira?

Boyigabanganya hagati y’abacuruza?

 7 Mbega urushato rwayo worushingagirako imyampi y’ingobe+

canke umutwe wayo ukawushingagirako imigera?

 8 Urayishirako ukuboko urabe.

Uzokwibuka ayo wabonye, kandi ntuzopfa usubiriye!

 9 Uwizigiye kuyifata yoruhira ubusa.

Uyikubise ijisho gusa woca uranduka umutima*.

10 Nta n’umwe yubahuka kuyisomborotsa.

None wumva ari nde yonyihanga+?

11 Ni nde yampaye ikintu, ku buryo mbwirizwa kukimwishura+?

Ibiri munsi y’ijuru vyose ni rwanje+.

12 Sinoreka kuvuga ibijanye n’amaguru yayo,

inguvu zayo n’umubiri wayo utangaje.

13 Ni nde yoyikurako urushato rwayo?

Iramutse yasamye, ni nde yokwinjira mu kanwa kayo?

14 Ni nde yogerageza kwasamika akanwa kayo?

Amenyo yayo yose arateye ubwoba.

15 Umugongo wayo uriko imirongo y’ibigaragamba*,

kandi birafatanye cane.

16 Ibigaragamba vyose birinjiranamwo neza,

ku buryo ata muyaga uca hagati yavyo.

17 Kimwekimwe cose kirafatanye n’ikindi.

Biramatanye ku buryo ata woshobora kubitandukanya.

18 Iyo ipfushe irekura umuco,

kandi amaso yayo ameze nk’imishwarara yo mu gitondo.

19 Mu kanwa kayo havayo imiravyo,

emwe havayo udusase tw’umuriro.

20 Mu mazuru yayo hafumbukayo umwotsi,

nka kurya kw’ifuru idomekeshejwe urukangaga.

21 Impemu zayo zidomeka amakara,

kandi mu kanwa kayo havayo urubeya rw’umuriro.

22 Izosi ryayo ririmwo inguvu nyinshi,

kandi abahuye na yo bose baratekerwa n’ubwoba.

23 Inyama zo ku mubiri wayo zirafatanye cane.

Ziragumye, womenga zihometse kuri yo ku buryo zitanyiganyiga.

24 Umutima wayo ukomeye nk’ibuye,

emwe ukomeye nk’urusyo.

25 Iyo ihagurutse, n’abantu b’intwari barajugumira.

Iyo ikubise umurizo wayo barahundagara.

26 Inkota nta na kimwe iyigira,

icibagiwe coco ni icumu, ikimito canke umwampi+.

27 Icuma kuri yo ni nk’ivyatsi,

umujumpu na wo ni nk’igiti kiboze.

28 Ntikangwa n’umwampi.

Amabuye atewe n’umugozi ameze nk’ibishakara kuri yo.

29 Ubuhiri ibubona nk’ivyatsi,

kandi iratwenga uguhinda kw’icumu.

30 Mu nda hayo hameze nk’injo zikarishe.

Aho iciye mu vyondo womenga haciye urubaho rutonora intete*+.

31 Ibiragiza ibwina mu kiyaga nk’inkono,

igasebagiza ikiyaga nk’inkono y’amavuta.

32 Aho iciye ihasiga umurongo ukayangana,

ukamengo ikiyaga cameze imvi.

33 Kw’isi nta na kimwe kimeze nka yo.

Ni igikoko kitaremanywe ubwoba.

34 Irabana akagaye igikoko cose cishira hejuru.

Ni umwami w’ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikaze.»

42 Maze Yobu yishura Yehova ati:

 2 «Ubu rero ndamenye ko ushobora vyose,

ko ata kintu na kimwe ushatse gukora kikunanira+.

 3 Wabajije uti: “Uwo ni nde atora amahinyu umugambi wanje, akavuga ibintu atazi+?”

Ni vyo naravuze, ariko navuze ntatahura

ibintu vy’agatangaza bindengeye, ibintu ntazi+.

 4 Wavuze uti: “Umviriza, nanje mvuge.

Ngira nkubaze, nawe unyishure+.”

 5 Nahora numva ivyawe ku matwi gusa,

ariko ubu ndakwiboneye n’amaso yanje.

 6 Ni co gituma nicujije ku vyo navuze*+,

ndigaye mu kwikumbagaza mu mukungugu no mu minyota+.»

7 Yehova amaze kubwira Yobu ayo majambo, Yehova abwira Elifazi w’i Temani ati:

«Ndagushavuriye cane, mwe na bagenzawe babiri+, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye+. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu. 8 Ubu rero nimutore impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi, mugende ku musavyi wanje Yobu, mushikane ikimazi giturirwa. Umusavyi wanje Yobu araza kubasengera+. Ndaheza nemere isengesho ryiwe, sindabakorere ibihuye n’ubupfu bwanyu, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu.»

9 Elifazi w’i Temani, Biludadi w’i Shuhi na Zofari w’i Nayama baca baja kwa Yobu nk’uko Yehova yabibategetse. Yehova araheza yemera isengesho rya Yobu.

10 Yobu amaze gusengera bagenziwe+, Yehova aca amukura mu ngorane yarimwo+, amusubiza n’ubutunzi bwiwe. Yehova amusubiza ivyo yari atunze vyose abigwije kabiri+. 11 Benewabo bose na bashikiwe bose n’abahora ari abagenzi biwe+ bose baza iwe, maze basangirira ibifungurwa mu nzu iwe. Batangura kumuhoza no kumuremesha ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamushikira. Umwe wese amuha amahera* n’impeta y’inzahabu.

12 Maze Yehova ahezagira Yobu mu nyuma kuruta uko yari yamuhezagiye ubwa mbere+. Yobu agira intama 14.000, ingamiya 6.000, inka 2.000 n’indogobwa zivyara 1.000+. 13 Avyara n’abandi bahungu indwi hamwe n’abandi bakobwa batatu+. 14 Umukobwa wa mbere amwita Yemima, uwa kabiri Keziya, uwa gatatu na we Kereni-Hapuki. 15 Mu gihugu cose, nta bagore banganya ubwiza n’abakobwa ba Yobu. Se araheza abaha intoranwa hamwe na basaza babo.

16 Inyuma y’ivyo Yobu abaho imyaka 140, abona abana biwe n’abuzukuru biwe gushika ku runganwe* rugira kane. 17 Amaherezo Yobu arapfa, apfa ari umutama ahimbawe*.

Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «uwankwa.»

Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»

Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa zivyara.»

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «washize umutima ku.»

Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»

Canke «urabifiseko uburenganzira.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkuba yakubise.»

Canke «yegeke ku Mana ibintu bitabereye.»

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «washize umutima ku.»

Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndamurotse.»

Mu giheburayo havuga ngo «usinzikaze igufa ryiwe n’umubiri wiwe.»

Canke «uramufiseko uburenganzira.»

Canke «ibisebe bikomeye.»

Mu giheburayo havuga ngo «umusi wiwe.»

Canke «yasamwe inda.»

Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»

Hari abiyumvira ko yoba ari ingona canke ikindi gikoko co mu mazi kinini kandi gikomeye.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abiyubakiye ibibanza vy’umusaka.»

Canke «uwo yakikuje uruzitiro.»

Mu giheburayo havuga ngo «urarambiwe.»

Canke «abarementanya.»

Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Canke «intumwa.»

Ni agakoko kameze nk’ikinyugunyugu.

Canke «ubukerebutsi.»

Canke «azogiranira isezerano nawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «riri mu mahoro.»

Canke «mporomboka.»

Canke «noramba.»

Canke «mu mujumpu.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Canke «ingenzi.»

Canke «umugwi w’ingenzi z’Abasabeya.»

Canke «gushika mu mutwenzi.»

Canke «agati.»

Mu giheburayo havuga ngo «iciza.»

Canke «yari guhaguruka ikagutabara.»

Mu giheburayo havuga ngo «bagakura amajambo mu mitima yabo?»

Mu giheburayo havuga ngo «izo ni zo nzira.»

Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Canke «akitegereza inzu y’amabuye.»

Canke «nibamumira.»

Canke «ukwo ni ko inzira yiwe izozimangana.»

Canke «batagirako umugayo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ifate ukuboko.»

Canke «kuyiburanya.»

Canke «ikuraho.»

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Grande Ourse mu gifaransa.

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion mu gifaransa.

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Taureau mu gifaransa.

Rushobora kuba ari urukoko runini rwo mu mazi.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo tuburana.»

Mu giheburayo havuga ngo «ni nde yondengutsa?»

Canke «ntagirako umugayo kandi ngororotse.»

Canke «buranshisha, ndabwanse.»

Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Canke «umuhuza.»

Mu giheburayo havuga ngo «aturambikeko ibiganza twese.»

Mu giheburayo havuga ngo «yonkurako inkoni yiwe.»

Canke «iforomaji.»

Mu giheburayo havuga ngo «unjishisha.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «warakingiye impemu zanje», «warakingiye ubuzima bwanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «kandi ivyo bintu wabinyegeje mu mutima wawe.»

Canke «ndyoherwe gatoyi.»

Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»

Canke «wiyumvira ko umuntu yirata yoba mu kuri?»

Canke «inyigisho yanje.»

Canke «kumenya akarimbi ka.»

Canke «ivutse ari umuntu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ni mwe muri abantu.»

Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»

Canke «abadashikamye», «abanyerera.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nuvugane n’isi.»

Canke «impemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»

Canke «bambuwe ivyabo vyose.»

Canke «abakurambere.»

Mu giheburayo havuga ngo «igatuburura umukaba w’abantu bakomakomeye.»

Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»

Canke «mwoyigirira nkunzi.»

Canke «y’intibagirwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikondo y’inkinzo zanyu.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuki notwara inyama z’umubiri wanje mu menyo.»

Canke «ndayirindiriye.»

Canke «nzoburanira inzira zanje.»

Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe yoboneka, noca numa ngapfa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibi bintu bibiri gusa ntubinkorere.»

Canke «warashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).

Uwo muntu ashobora kuba ari Yobu.

Canke «amaganya.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «rigaca ricibwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukanshengeza.»

Canke «imisi yose y’igikorwa canje c’agahato.» Ni ukuvuga mu kuzimu.

Canke «ibintu bitagiramwo ubwenge.»

Canke «kuko amakosa yawe ari yo yigisha akanwa kawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «aberanda.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Canke «gutsinda.»

Mu giheburayo havuga ngo «yitwaje imikondo ivyibushe y’inkinzo yiwe.»

Canke «ibinyonyori.»

Ni ukuvuga ko ata cizigiro afise co gusubirana.

Umwelayo bawita kandi olive.

Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Canke «amajambo y’umuyaga.»

Canke «uruhoza rw’iminwa yanje.»

Canke «abahora bakoranira hamwe nanje.»

Canke «amenyo.»

Canke «inkomezi.» Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»

Canke «apfutswe n’igitutu c’urupfu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ijisho ryanje riguma riraba Imana ata kugoheka.»

Mu giheburayo havuga ngo «iciro ry’umugani.»

Canke «bisigaye ari igitutu.»

Canke «abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Canke «w’amaboko adahumanye.»

Canke «imva.»

Canke «niwerekane ugutegera.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ko duhumanye.»

Canke «ku mwami w’ibica ivutu.»

Canke «batari abiwe.»

Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.

Mu giheburayo havuga ngo «nta zina azogira.»

Canke «aho yahora acumbitse.»

Canke «mumpambarira.»

Canke «incuti zanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’inda yanje», ni ukuvuga inda yamvyaye (inda ya mama).

Mu giheburayo havuga ngo «mpunganye urukoba rw’amenyo yanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntimuhage inyama zanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).

Mu giheburayo havuga ngo «ku mukungugu.»

Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje yananiwe.»

Canke «kumpambarira.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu ivuye mu gutegera kwanje.»

Canke «Adamu», «umuryango w’abantu.»

Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Canke «indugwe y’incira.»

Mu giheburayo havuga ngo «ururimi.»

Canke «camutobekeranije indugwe.»

Canke «abantu bakomeye.»

Canke «mu kanya gato.» Ni ukuvuga gupfa ningoga utarinze kubabara.

Canke «impanuro», «amayeri.»

Mu giheburayo havuga ngo «anywa.»

Canke «uworonsa Imana ubumenyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’umusokoro w’amagufa yabo ubomvye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yo kungirira nabi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibimenyetso vyabo.»

Canke «mu mwonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «azokwegera inyuma yiwe abantu bose.»

Canke «yoba afise ugutahura kwimbitse.»

Canke «bwoba buhimbara Mushoboravyose?»

Mu giheburayo havuga ngo «ukambura impuzu abari gusa.»

Mu giheburayo havuga ngo «imitego y’inyoni.»

Canke «ku muzingi.»

Canke «bamwe urupfu rwakubiranya.»

Mu giheburayo havuga ngo «uruzi.»

Canke «mu myonga.»

Canke «abunamika amaso.»

Canke «ugutakamba kwanje kubonwa nk’ukugarariza.»

Canke «ivyo nashingiwe.»

Canke «yanshingiye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «kwahira ubwatsi bw’ibitungwa.»

Herekeza ku mwana atagira se.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «birirwa barakanya amavuta hagati y’impome z’imikobeko.»

Mu giheburayo havuga ngo «baraganisha ibirenge.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko Imana nta we yagiriza ikibi.»

Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Mu giheburayo havuga ngo «inda zabavyaye.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzira zabo zose.»

Mu giheburayo havuga ngo «ahantu hayo iyo hejuru.»

Canke «uwutyoroye.»

Canke «ntizityoroye.»

Mu giheburayo havuga ngo «ni impemu za nde zikuvuyemwo?»

Canke «irabona n’ikibanza c’agatikizo», «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo (Abadoni).

Mu giheburayo havuga ngo «isanza uburaruko.»

Mu giheburayo havuga ngo «yaciye umuzingi.»

Mu giheburayo havuga ngo «Rahabu.»

Canke «umuyaga.»

Canke «inyerera.»

Canke «ntiyambuye.»

Canke «uncokora.»

Canke «imisi yose nzoba nkiriho.»

Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ndabigishe biciye ku kuboko kw’Imana.»

Canke «bazohambwa.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazokubita amashi ku yandi, bamuvugirize agahwa bari aho bibera.»

Mu giheburayo havuga ngo «amabuye.»

Hashobora kuba herekeza ku bikorwa bijanye no gucukura ubutare.

Canke «ityoroye.»

Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.

Mu giheburayo havuga ngo «agatikizo.»

Mu giheburayo havuga ngo «uburemere.»

Canke «abasuku.»

Canke «amavuta y’inka.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ikinyegeza.»

Canke «ikanzu itagira amaboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu cari canje.»

Canke «umuheto uri mu kuboko kwanje uzoguma urasa.»

Mu giheburayo havuga ngo «yaratonyangira.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntibazimya umuco wo mu maso hanje.»

Ni uduti two mu bugaragwa

Canke «mu myonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «bomojwe inkoni.»

Canke «batagira izina.»

Mu giheburayo havuga ngo «iciro ry’umugani.»

Mu giheburayo havuga ngo «yaregeje umugozi w’umuheto wanje.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ata wurinze kubafasha.»

Mu giheburayo havuga ngo «aratobagurwa.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyago vyanje bikomeye vyampinduye isura.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ukansavya nkazimangana.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukubita ikirundo c’ibihomvagurike.»

Canke «abariko baca mu bihe bigoye.»

Mu gifaransa ni autruche.

Mu giheburayo havuga ngo «umwigeme w’isugi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «narigeze ngendana n’ababeshi?»

Canke «abankomokako nibarandurwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «abandi bagabo nibamupfukameko.»

Canke «ukarandura umwimbu wanje wose.»

Bari abashumba b’abagabo canke b’abagore.

Canke «igihe twari dufitaniye urubanza.»

Mu giheburayo havuga ngo «impagurukiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «si we yatubumbiye mu nda twese?»

Mu giheburayo havuga ngo «ngatuma amaso y’umupfakazi ayama.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuva nkiva mu nda ya mama.»

Mu giheburayo havuga ngo «nimba ikiyunguyungu ciwe kitampezagiye.»

Canke «gukangisha ingumu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi mbona yuko mfise uburyo mw’irembo ry’igisagara.»

Canke «ibega.»

Canke «nigutane n’igufa ryakwo ryo hejuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuco.»

Mu giheburayo havuga ngo «inyama.»

Canke «nokwanditse izina ryanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «muto mu misi.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»

Canke «ugutegera.»

Canke «yashoboye gukosora Yobu.»

Canke «nta we mpa icubahiro.»

Mu giheburayo havuga ngo «ururimi rwanje n’amagage yanje.»

Canke «yarashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).

Mu giheburayo havuga ngo «igashira ikidodo ku.»

Canke «imva.»

Canke «ikirwanisho (ikirwanisho batera).»

Mu giheburayo havuga ngo «ubuzima.»

Canke «umumarayika.»

Canke «nugire amagara meza.»

Mu giheburayo havuga ngo «azoririmbira.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko nta co vyamariye.»

Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»

Canke «isi ibako abantu.»

Canke «uwuhambaye ngo amurutishe uwuciye bugufi.»

Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Canke «nta gutahura kwimbitse.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Dawe, Yobu nagezwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bimaze iki ku Mana?»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Canke «ntiyumviriza ibinyoma.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yicarika abami ku ntebe z’ubwami.»

Canke «ikirwanisho (ikirwanisho batera).»

Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).

Mu giheburayo havuga ngo «mu bamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Canke «ntiritume ukoma amashi kubera inzigo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yotora amahinyu», «yoyisaba gusigura.»

Canke «guserangura.»

Mu giheburayo havuga ngo «urusago.»

Mu giheburayo havuga ngo «isanza umuco.»

Mu giheburayo havuga ngo «imizi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikoresha mu kuburanira abantu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigira bize.»

Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Mu giheburayo havuga ngo «ishira ikidodo ku maboko y’abantu bose.»

Canke «isi yimbuka.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «itegeka.»

Canke «guhondagura.»

Ni ukuvuga umuco w’izuba.

Mu giheburayo havuga ngo «inkerebutsi mu mutima wabo.»

Canke «impanuro.»

Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yawe.»

Canke «ukuboko kwabo kudugije kuba kuvunitse.»

Canke «igitutu c’urupfu.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»

Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuravyo.»

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Taureau mu gifaransa.

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion mu gifaransa.

Mu giheburayo havuga ngo «Mazaroti.»

Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Grande Ourse mu gifaransa.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «amategeko y’Imana.»

Canke «ubukerebutsi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yashize ubwenge mu muntu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yahaye umuzirikanyi ugutahura.»

Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «gusiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «imbuto.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Mu giheburayo havuga ngo «yatumye cibagira.»

Canke «gutegera.»

Mu giheburayo havuga ngo «ikaja gusanganira ibirwanisho.»

Mu giheburayo havuga ngo «imira isi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «iraryoherwa.»

Canke «ugutegera.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku ryinyo ry’igitandara.»

Canke «umuntu atorana amahinyu.»

Canke «wohindura ubusa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubohe mu maso habo.»

Canke «ndagukeze.»

Ishobora kuba ari imvubu.

Mu giheburayo havuga ngo «ni yo ntango.»

Canke «mu mubande.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutego.»

Ishobora kuba ari ingona.

Mu giheburayo havuga ngo «urukangaga.»

Mu giheburayo havuga ngo «ihwa.»

Canke «woca ugwa hasi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imirongo y’ibigaragamba vyayo ni yo bwibone bwayo.»

Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).

Canke «nisubiyeko.»

Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.

Canke «iyaruka.»

Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika