YOBU
1 Mu gihugu ca Uzi hariho umugabo yitwa Yobu*+. Yari umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi+. 2 Yari afise abahungu indwi n’abakobwa batatu. 3 Ibitungwa vyiwe vyari bigizwe n’intama 7.000, ingamiya 3.000, inka 1.000 hamwe n’indogobwa* 500. Yari afise n’abasuku benshi cane, ku buryo yari umuntu ahambaye kuruta abantu bose bo mu buseruko.
4 Umwe wese mu bahungu biwe yari afise umusi wo gutegura umusi mukuru ku rugo rwiwe. Baca batumira bashiki babo batatu kugira basangire ibifungurwa n’ibinyobwa. 5 Bose bahejeje kugira iyo misi mikuru, Yobu yaca abatumako kugira abatyorore. Maze Yobu yarazinduka kare mu gitondo, agatangira umwe wese ikimazi giturirwa+, kuko yibwira ati: «Hari aho abahungu banje boba bacumuye, bagatuka Imana mu mitima yabo.» Ukwo ni ko Yobu yama abigenza+.
6 Maze umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani+ yinjirana na bo+.
7 Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+.» 8 Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi.» 9 Shetani yishura Yehova ati: «Ugira ngo Yobu atinyira Imana ubusa+? 10 Ntiwamukikuje uruzitiro+, ukarukikuza n’inzu yiwe n’ivyo afise vyose? Warahezagiye ivyo akora vyose+, kandi ibitungwa vyiwe vyuzuye igihugu cose. 11 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, umwake ivyo afise vyose, urabe ko atakuvuma imbonankubone.» 12 Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ivyo afise vyose biri mu maboko yawe*! Ariko we ntihagire ico umugira.» Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova+.
13 Umusi umwe, abahungu ba Yobu n’abakobwa biwe bariko barasangira ibifungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru+. 14 Nuko haza umuntu maze abwira Yobu ati: «Inka zawe zariko zirarima, n’indogobwa ziriko zirisha iruhande yazo. 15 Abasabeya baciye batera barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
16 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Umuriro uvuye ku Mana wakorotse* uvuye mw’ijuru, uca urigata za ntama n’abasuku bawe bose. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
17 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abakaludaya+ bigabuyemwo imigwi itatu, baca bagaba igitero kuri za ngamiya barazitwara, abasuku bawe na bo babicisha inkota. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
18 Akiriko aravuga, haca haza uwundi maze avuga ati: «Abahungu bawe n’abakobwa bawe bariko barasangira imfungurwa n’umuvinyu mu nzu y’umuhungu mukuru. 19 Ubwo nyene haciye haza umuyaga ukomeye uvuye mu bugaragwa, uhitana imfuruka zine z’iyo nzu, ica igwa kuri abo bana bose barapfa. Ni jewe gusa narokotse kugira ndabikumenyeshe.»
20 Yobu aca arahaguruka, yitaburirako impuzu yiwe yongera yimosha umushatsi wose. Hanyuma arapfukama, arunama mu maso hiwe hashika hasi 21 maze avuga ati:
«Navuye mu nda ya mama ndi gusa,
kandi nzosubira inyuma ndi gusa+.
Yehova ni we yampaye+, kandi Yehova ni we anyatse.
Izina rya Yehova niribandanye gushemezwa.»
22 Muri ivyo vyose Yobu ntiyigeze acumura canke ngo yagirize Imana ibintu bibi*.
2 Hanyuma umusi ugeze, abamarayika*+ barinjira bahagarara imbere ya Yehova+, na Shetani yinjirana na bo ahagarara imbere ya Yehova+.
2 Yehova abaza Shetani ati: «Uvuye hehe?» Shetani yishura Yehova ati: «Mvuye kunyuragira mw’isi no kuyitemberamwo+.» 3 Yehova aca abwira Shetani ati: «Mbega witegereje* umusavyi wanje Yobu? Nta n’umwe ameze nka we kw’isi. Ni umuntu w’umugororotsi kandi atunganye*+, atinya Imana kandi yirinda ikibi. Aracumiye ku gutungana kwiwe+ naho uguma unsaba ngo ndamurandure*+ ata co ndamuhora.» 4 Ariko Shetani yishura Yehova ati: «Urukoba rukabwa urundi. Mbere n’ivyo umuntu afise vyose yobitanga kugira arokore igufa. 5 Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, usinzikaze ubuzima bwiwe*, urabe ko atakuvuma imbonankubone+.»
6 Yehova aca abwira Shetani ati: «Ehe ng’uyo ari mu kuboko kwawe*! Ariko gusa ntumwice.» 7 Shetani aca arasohoka, ava imbere ya Yehova maze ateza Yobu ibihute bikaze*+, kuva mu kirenge gushika ku mutwe. 8 Yobu aca yicara mu minyota+, araheza atora urujo rwo kwiyagaza.
9 Vyakabaye kera, umugore wiwe amubwira ati: «Mbega uracumiye ku gutungana kwawe? Tuka Imana upfe!» 10 Ariko Yobu amwishura ati: «Uvuga nk’umugore atagira ubwenge. None twokwakira ivyiza gusa bivuye ku Mana, ntitwakire n’ibibi na vyo+?» Muri ivyo vyose, Yobu ntiyigeze acumura n’iminwa yiwe+.
11 Nuko abagenzi batatu ba Yobu ari bo Elifazi+ w’i Temani, Biludadi+ w’i Shuhi+ na Zofari+ w’i Nayama bumva ivyago vyose vyari vyamushikiye. Baca basezerana guhurira hamwe kugira baje kwa Yobu kumuremesha no kumuhoza. 12 Bamubonye bakiri kure, ntibamenye n’uko yari Yobu. Baca batangura kurira cane, batabura impuzu zabo, basurira umukungugu mu kirere no ku mitwe yabo+. 13 Baguma bicaranye na we hasi imisi indwi n’amajoro indwi. Nta n’umwe yamubwira ijambo na rimwe, kuko babona ko ububabare yarimwo bwari bwinshi cane+.
3 Inyuma y’ivyo, Yobu afata ijambo, atangura kuvuma umusi yavukiyeko*+. 2 Avuga ati:
4 Uwo musi nucike umwiza.
Imana iri mw’ijuru ntikawiteho.
Umuco ntukawuboneshereze.
5 Umwiza w’umuzitanya* nuwegukire.
Igicu c’imvura nikibe hejuru yawo.
Ibituma umusi ucika umwiza nibiwutere ubwoba.
6 Iryo joro niricike umwijima+.
Ntirikabemwo umunezero mu misi igize umwaka,
kandi ntirigaharurwe mu misi igize amezi.
7 Emwe, iryo joro niricike ingumba,
ntiryigere ribamwo umunezero.
9 Inyenyeri zo ku mugoroba waryo nizicike umwijima.
Niririndire umuco wo ku murango riwubure,
ntiryigere ribona imishwarara yo mu mutwenzi.
11 Kubera iki ntapfuye nkivuka?
Kuki ntavuye mu nda ngaca ncikana+?
12 Kuki habonetse ibibero binyakira
hamwe n’amabere nonka?
13 Erega ubu mba niryamiye ata nkomanzi+.
Mba nisinziririye kandi niruhukiye+
14 ndi kumwe n’abami b’isi n’abajanama babo,
barya biyubakira inyubakwa, ariko ubu zikaba ari umusaka*,
15 canke kumwe n’abaganwa bari batunze inzahabu,
bakagira n’amazu yuzuye ifeza.
16 Kubera iki ntabaye nk’inda ikorotse,
nkamera nk’abana batigeze babona umuco?
18 Hariya imbohe zose hamwe ziritekaniye.
Ntizumva amajwi y’abazihindagiza ku bikorwa.
21 Kubera iki hari abipfuza urupfu ariko bakarubura+?
Barimba barurondera kuruta uko barondera itunga rinyegejwe,
22 kandi botamba bagatarika,
bakaryoherwa baramutse bashitse mu mva.
25 Ivyahora bintera ubwoba ni vyo vyanshikiye,
kandi ivyo nahora ntinya ni vyo vyambayeko.
26 Nta mahoro, nta gahengwe canke akaruhuko nigeze ndonka,
ariko ivyago biguma bikurakuranwa kuri jewe.»
4 Elifazi+ w’i Temani aca yishura ati:
2 «Mbega uwogira ico akubwiye wovyihanganira?
Ariko hari uworeka kugira ico avuze ga yemwe!
3 Ni ivy’ukuri ko wakosoye benshi,
kandi wahora ukomeza abagoyagoya.
4 Amajambo yawe yarahagurutsa uwutsitaye,
kandi warakomeza abadashobora guhagarara.
5 Ariko ubu ni wewe bishikiye, none raba urarengewe*!
Ni wewe bikozeko, none ehe urahagaritse umutima!
6 Mbega ugutinya Imana kwawe ntigutuma uyizigira?
Ugutungana kwawe+ ntigutuma ugira icizigiro?
7 Mbwira nawe: Hari umuntu w’intungane yigeze ahona?
Ni ryari umuntu w’umugororotsi yigeze atikira?
9 Batikizwa n’impemu z’Imana,
bakarandurwa n’igihuhusi c’ishavu ryayo.
10 Intambwe iraroha, imikangara y’intambwe ikivuga,
ariko n’amenyo y’intambwe zikomeye* aravunagurika.
11 Intambwe irapfa iyo ibuze ico ifata,
ivyana vyayo bigashwiragira.
12 Hari ijambo numvise mw’ibanga,
ugutwi kwanje kwararyumvise mu bwongoshwe.
13 Nareretswe ibintu bitesha umutwe mw’ijoro,
igihe abantu baba batwawe n’agatiro.
14 Naciye ntangura kujugumira cane,
amagufa yanje yose aradegedwa,
15 maze impwemu inca mu maso,
ubwoya bwo ku mubiri wanje buramerereza.
16 Yaciye ihagarara idakakaza,
ariko sinabonye uko yasa.
Nabona ikintu imbere y’amaso yanje.
Nuko haba agacerere, hanyuma numva ijwi rivuga riti:
17 “Mbega umuntu buntu yoba intungane kurusha Imana?
Umuntu yoba uwutyoroye gusumba Uwamuremye?”
19 Hari akantu rero ababa mu mazu y’ibumba,
imishinge yayo ikaba iri mu mukungugu+!
Bafyonyoka ningoga nka kurya kw’agakoko*.
20 Bafyonyagurwa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.
Baratikira ntihagire n’umwe avyitaho.
21 Bameze nk’ihema rifyaramye kubera baranduye umugozi waryo.
Bicwa no kubura ubwenge*.
5 Erega tabaza! Mbega hari uwukwishura?
Ni nde mu bamarayika beranda uzokwitura?
2 Kuko ikijuju kizokwicwa n’umwikomo,
imburabwenge na yo ikicwa n’ukwipfuza.
3 Nariboneye ukuntu ikijuju gishora imizi,
ariko aho kiba hagaca havumwa bukwi na bukwi.
5 Ivyo cimbuye biribwa n’abashonje,
kandi naho vyoba biri mu mahwa barabikurayo.
Mbere n’ivyo gitunze hamwe n’ivy’abana baco bifatwa n’umutego.
6 Erega ibibabaza ntibimera bivuye mu mukungugu,
kandi n’ingorane ntizinaga zivuye mw’ivu.
7 Kurya nyene udusase tw’umuriro tutabura gutarukira mu kirere,
ni ko n’umuntu yavukiye guhura n’ivyago.
8 Ariko iyaba nari wewe, nari kwitura Imana,
Imana ni yo nari gushikiriza urubanza rwanje,
9 imwe ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge,
ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri.
10 Igwisha imvura kw’isi,
igatuma imirima ironka amazi.
11 Ishira hejuru abantu batobato,
ikaronsa ubukiriro abacitse intege.
12 Ihindura ubusa amayeri y’abantu b’urwenge,
ku buryo ivyo bakora biba impfagusa.
14 Bahura n’umwiza ku murango,
bakagenda barakabakaba izuba riva, nk’aho hoba ari mw’ijoro.
15 Ikiza umuntu inkota iva mu kanwa kabo,
ikarokora umukene mu maboko y’abakomeye,
16 ku buryo abantu batobato bagira icizigiro,
ariko abatagororotse ntibasubire gukurako umunwa.
17 Umve, hahiriwe umuntu Imana ikosora.
Ntiwanke rero gutozwa indero na Mushoboravyose!
18 Arakomeretsa ariko agatubika igikomere.
Aravuna ariko amaboko yiwe akaba ari yo avura.
19 Azogukiza ivyago bitandatu,
mbere n’ic’indwi nta co kizokugira.
20 Azogukiza urupfu mu gihe c’inzara,
mu gihe c’intambara na ho agukize inkota.
22 Uzotwenga agatikizo n’inzara,
kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.
24 Uzokwibonera ko ihema ryawe ritekanye*.
Niwaja kuraba aho baragiye ibitungwa vyawe, uzosanga ata na kimwe kibuze.
25 Uzovyara abana benshi,
kandi abagukomokako bazogwira nk’ivyatsi vyo kw’isi.
26 Uzorinda upfa ugifise inguvu,
nka kurya kw’imiganda y’ingano bimbuye hageze.
27 Ivyo vyose twarabitohoje kandi ni ko biri.
Vyumve rero kandi uvyemere.»
6 Yobu aca yishura ati:
3 Kuko usigaye uremereye gusumba umusenyi wo ku biyaga.
Ni co gituma mvuga ntabanje kwiyumvira*+.
4 Kuko imyampi ya Mushoboravyose yantobekeranije,
kandi ubumara bwayo buriko burankwiragiramwo+.
Ibintu biteye ubwoba biva ku Mana vyatonze kugira bindwanye.
5 Mbega indogobwa yo mw’ishamba+ yokwabira ifise ubwatsi?
Canke impfizi y’inka yokwabira ifise ivyo irya?
6 Mbega ivyo kurya bibishe vyoribwa bitagira umunyu?
Canke hari uburyohe buri mu mutobe w’igiterwa kitagira akanovera?
7 Naranse gukora ku bintu mwene ivyo.
Bimeze nk’umucafu uri mu bifungurwa vyanje.
8 Icompa Imana ikampa ico ndayisaba,
kandi igashitsa ico nipfuza!
10 Erega n’ivyo vyonduhurira.
Notamba ngatarika naho ndi mu bubabare budahera,
kuko ntahakanye amajambo ya wa Mweranda+.
11 Mbega hari inguvu mfise zo kuguma ndindiriye+?
Hari ico niteze ku buryo nobandanya kubaho*?
12 Mbega noba nkomeye nk’igitandara c’ibuye?
Canke umubiri wanje woba ukozwe mu cuma*?
13 Mbega nokwirwanako gute
kandi ivyanje vyose vyarayogeye?
17 Ariko igihe kigeze, ziruma zikazimangana.
Iyo haje ubushuhe zirakama.
18 Izo nzuzi zirata inzira yazo,
zigatemba zija mu bugaragwa hanyuma zikazimangana.
20 Baramaramaye kuko bataronse ico bari biteze.
Barashitseyo ariko bataha zirayoye.
22 Mbega hari uwo nigeze mbwira nti: “Ngabira ikintu”?
Canke hari uwo nasavye ikintu kivuye mu butunzi bwiwe?
23 Mbega nabasavye ngo munkize umwansi,
canke ngo munkize abancinyiza?
25 Amajambo y’ukuri ntababaza+!
Ariko ukunegurana kwanyu kumaze iki+?
26 Mbega mwagiye umugambi wo kunegura ivyo mvuga,
kandi ari amajambo y’umuntu yihebuye+, agururwa n’umuyaga?
28 Ubu rero nimuhindukire mundabe,
kuko ntobabesha imbonankubone.
29 Ndabasavye musubire mwiyumvire, ntimuntahure nabi.
Ni ukuri subira mwiyumvire, kuko ukugororoka kwanje kukiri kwose.
30 Mbega ururimi rwanje rwoba ruvuga ibitagororotse?
Mwibaza ko ntashoboye kumenya ko ikintu ari kibi?
7 Mbega ubuzima bw’umuntu kw’isi ntibwuzuyemwo umuruho,
kandi imisi yiwe ntimeze nk’iy’umukozi w’umucangero+?
2 Aguma yipfuza agatutu nka kurya kw’umushumba,
akaguma arindiriye impembo yiwe nk’umukozi w’umucangero+.
4 Iyo ndyamye, nca ntangura kwibaza nti: “Nzovyuka ryari+?”
Ijoro rimbera rirerire, nkaguma nigaragura bukarinda buca*.
8 Ijisho ririko riranyitegereza ntirizosubira kumbona.
Amaso yawe azondondera, ariko nzoba nigiriye+.
11 Ni co gituma ntazoreka kuvuga.
Nzovuga naho ntuntuye ku mutima.
Nzokwiganyira naho ndundumiwe+!
12 Mbaye ikiyaga canke urukoko rwo mu mazi,
ku buryo unshiriraho umurinzi?
13 Iyo mvuze nti: “Uburiri bwanje buzompoza,
igitanda canje kizogabanya amaganya yanje”,
14 uca untera ubwoba biciye ku ndoto,
ukanca ivutu biciye ku vyo nerekwa,
15 ku buryo nopfuma mpitamwo kunigwa,
ngahitamwo urupfu hako mbaho muri uyu mubiri+.
16 Ubuzima bwanje buranshisha+, singishaka kubaho.
Nunyirekere, kuko imisi yanje itumuka nk’impemu+.
20 Nimba naracumuye, bigutwaye iki wewe Musuzumyi w’abantu+?
Kuki untumberezako imyampi yawe?
Mbega nakubereye umuzigo?
21 Kuki utombabarira igicumuro canje,
ukirengagiza ikosa ryanje?
Kuko ngira nipfire nisubirire mu mukungugu+,
kandi uzondondera ariko ntuzombona.»
8 Maze Biludadi+ w’i Shuhi+ yishura ati:
2 «Uzovuga gutyo gushika ryari+?
Amajambo ava mu kanwa kawe ni igihuhusi gusa!
3 Mbega Imana yogoreka urubanza,
canke Mushoboravyose yogoramika ubutungane?
4 Nimba abana bawe barayicumuyeko,
yabaretse rero bahanirwe ubugarariji bwabo.
5 Ariko iyaba wogaruka ku Mana+,
ugatakambira Mushoboravyose ngo akubabarire,
6 iyaba wari utyoroye vy’ukuri kandi ukaba ugororotse+,
yari kukwitaho*, ikagusubiza mu kibanza cawe ubereye.
9 Kuko twebwe turi ab’ejo bundi, kandi nta co tuzi.
Imisi tumara kw’isi imeze nk’igitutu.
11 Mbega urufunzo rwokurira ahantu hatajaga?
Mbega irenga ryokura ata mazi rifise?
12 Bigitangura kunaga, ata n’uwurabica,
bitanga ibindi vyatsi vyose kwuma.
13 Iryo ni ryo herezo* ry’umuntu wese yibagira Imana.
Icizigiro c’umuntu atubaha Imana* kizozimangana.
14 Ivyizigiro vyiwe bishingiye ku busa.
Ukwizera kwiwe ntigukomeye, kumeze nk’inzu y’igitangurirwa.
15 Azokwegamira inzu yiwe, ariko ntizoguma ihagaze.
Azogerageza kuyishimikiza, ariko ntizoramba.
18 Ariko niyarandurwa* mu kibanza ciwe,
ico kibanza kizomwihakana, kivuge giti: “Sinigeze ndakubona+.”
20 Ni ukuri, Imana ntizota abantu b’intungane*,
canke ngo ishigikire* abantu b’ababisha.
21 Akanwa kawe izosubira kukuzuza akanyamuneza,
iminwa yawe na yo iyuzuze umunezero.
22 Abakwanka bazomaramara,
kandi ihema ry’ababisha ntirizoba rikiriho.»
9 Yobu yishura ati:
2 «Ndazi neza ko ari ukwo biri.
Ariko none umuntu buntu yoshobora gutsinda Imana mu rubanza+?
4 Ni inkerebutsi mu mutima, kandi ifise ububasha burenze+.
Ni nde yoyihanga akagenda adakomeretse+?
9 Ni yo yakoze umugwi w’inyenyeri witwa Ashi*, uwitwa Kesili*,
uwitwa Kima*+ hamwe n’imigwi y’inyenyeri zo mu bumanuko.
10 Ikora ibintu bikomeye bisiga ubwenge+,
ibintu vy’agatangaza bidaharurika+.
11 Ica iruhande yanje ariko sindayibone.
Irandengana ariko sindayimenye.
12 Iyo inyakuye ikintu, ni nde yoyitangira?
Ni nde yoyibaza ngo: “Ivyo ugira ni ibiki+?”
14 Hari akantu rero jewe igihe ndayishura!
Wumva ntakwiye guhitamwo neza amajambo mvuga?
15 Naho noba ndi mu kuri, sinoronka ico ndayishura+.
Nta kindi nokora atari ugusaba imbabazi umucamanza wanje*.
16 Hamwe noyihamagara, ugira ngo yonyitaba?
Sinibaza n’uko yonyumviriza,
17 kuko insavya ikoresheje igihuhusi,
ikongereza ibikomere vyanje ata mvo+.
18 Ntimpa n’akanya ko guhumeka.
Iguma intamika ibintu vy’umururazi.
19 Hamwe twovuga ibijanye n’inguvu, ni yo izifise rero+.
Tuvuze ibijanye n’ubutungane na ho, ica ivuga iti: “Ni nde yombaza ivyo nakoze*?”
20 Naho noba ndi mu kuri, akanwa kanje kontsindisha.
Naho noba ndi intungane*, yovuga ko nagiriwe n’icaha.
22 Vyose ni cokimwe. Ni co gituma mvuga nti:
“Intungane n’umubisha irajaniranya.”
23 Hamwe hotera isegenya igahitana abantu giturumbuka,
yokwitwengera ibonye ingene intungane zihebuye.
Nimba atari yo ibigira, none ni nde?
26 Irihuta nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,
nk’inkona ishungurukira ku kintu igira ifate.
27 Naho novuga nti: “Reka nibagire amaganya yanje,
reka nezerwe ndeke kwijirwa mu maso”,
29 Nokubitwa intahe mu gahanga.
Kubera iki none noruhira ubusa+?
30 Naho nokwoga amazi y’urubura* rwashonze,
nkongera ngakaraba intoke n’isabuni+,
31 yoca interera mu kinogo,
gushika n’aho impuzu zanje zinyanka urunuka.
10 Ubuzima bwanje buranshisha+.
Ngira nsuke amaganya yanje yose,
mvuge ndundumiwe mu mutima!
2 Nzobwira Imana nti: “Ntunkubite intahe mu gahanga.
Mbwira igituma uriko urandwanya.
3 Mbega hari ico bikwungura kuncinyiza,
ugasuzugura igikorwa c’amaboko yawe+,
ariko ugashigikira imigambi y’ababisha?
4 Mbega ufise amaso y’inyama,
canke ubona nk’uko umuntu buntu abona?
5 Mbega imisi yawe ingana n’iy’abantu
canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu+,
6 ku buryo uguma urondera ikosa ryanje,
ukaguma uhiga igicumuro canje+?
13 Ariko ibi ni vyo wateguye kunkorera mu mpisho*.
Ndazi ko ivyo bintu biriko biva iwawe.
15 Noba nigorewe hamwe noba ndi mw’ikosa!
17 Uzana ivyabona bishasha vyo kunyagiriza,
ishavu umfitiye rikongerekana,
ivyago na vyo bikaguma bikurakuranwa kuri jewe.
18 Kubera iki none wankuye mu nda ya mama+?
Mba naripfiriye ntihagire n’ijisho rimbona.
19 Vyari kumera nk’aho ntigeze mbaho,
bari guca bampamba nkiva mu nda.”
20 Mbega imisi nsigaje si mikeyi+? Imana ninyirekere.
Ninkureko amaso yayo kugira nduhuke gatoyi*+.
21 Imbere y’uko nigira (kandi sinzogaruka+)
mu gihugu c’umwiza w’umuzitanya*+,
22 mu gihugu c’umwijima w’umuzimagiza,
igihugu c’igitutu cijimye n’akajagari,
aho umuco waho umeze nk’umwiza.»
11 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:
3 Amajambo yawe ata co amaze yonumya abantu?
Wosuzugura abandi gutyo ntihagire uwugukosora+?
6 Yari kuguhishurira amabanga y’ubukerebutsi,
kuko ubukerebutsi nyabwo bufise imice myinshi.
Wari gutahura ko hari amakosa yawe yirengagiza.
7 Mbega woshobora gutahura ibintu vyimbitse vy’Imana?
Canke woshobora kumenya ibintu vyose vyerekeye* Mushoboravyose?
8 Ubukerebutsi buri hejuru kuruta ijuru, wumva woshika ku ki?
Burimbitse kuruta ukuzimu, wumva womenya iki?
9 Ni burebure kuruta isi
kandi buragutse kuruta ikiyaga.
10 Iramutse irenganye igata umuntu mw’ibohero
hanyuma igatumako sentare, ni nde yoyibuza?
11 Kuko izi abantu b’ababeshi.
Iyo ibonye ikintu kibi, mbega iracirengagiza?
13 Ese iyaba woteguye umutima wawe,
ukaduza amaboko ku Mana uyitakambira!
14 Nimba hari ibibi uriko urakora, bishire kure yawe!
Ntureke ngo ibikorwa bitagororotse bigume mu mahema yawe.
15 Uzoheza uraramike umutwe ata kumaramara.
Uzohagarara ushikamye ata bwoba.
16 Ntuzosubira kwibuka ivyago vyawe.
Uzovyibagira nka kurya kw’amazi yarenganye.
17 Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha umutaga.
Mbere n’ibihe vy’umwijima mu buzima bwawe bizomera nk’igitondo.
18 Uzotekana kuko ufise icizigiro.
Uzoraba irya n’ino, wiryamire mu mutekano.
19 Uzokwiryamira ata n’umwe agutera ubwoba,
kandi abantu benshi bazogusaba ngo ubatoneshe.
20 Ariko amaso y’ababisha azohuma.
Ntibazoronka aho bahungira,
kandi urupfu ni rwo ruzoba icizigiro cabo+.»
12 Maze Yobu yishura ati:
3 Erega nanje ndafise ubwenge*.
Nta na kimwe mundushije.
Ivyo ni nde atabizi?
Umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane asigaye ari agatwengo.
6 Amahema y’abasuma aratekanye+,
kandi abasomborotsa Imana bibereye mu mahoro+,
bamwe bagendana imana zabo mu ntoke.
7 Ariko ndakwinginze ubaze ibikoko, na vyo bizokwigisha.
Nubaze inyoni zo mu kirere, na zo zizokubwira.
9 Mbega muri ivyo vyose,
hari ikitazi ko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze?
16 Ni yo ifise inguvu n’ubukerebutsi nyabwo+.
Uwuzimira n’uwuzimiza bose ni abayo.
17 Ituma abajanama bagenda ibirenge bisa*,
igatuma abacamanza bamera nk’abasazi+.
19 Ituma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,
igatembagaza abatsimbataye ku butegetsi+.
20 Yaka ijambo abahanuzi b’abizigirwa,
abatama* na bo ikabaka ugutahura.
igatuma abanyenkomezi bagoyagoya*.
22 Ihishura ibintu vyimbitse ibikuye mu mwiza+,
ikazana ku muco ibintu vyari mu mwiza w’umuzitanya.
23 Ituma amahanga aba ayakomeye kugira iyarandure,
igatuma akarere kayo kaguka kugira iyatware mu bunyagano.
13 Egome, ivyo vyose naravyiboneye n’amaso yanje.
Naravyumvise n’amatwi yanje kandi ndabitahura.
2 Ivyo muzi nanje ndabizi,
nta na kimwe mundusha.
3 Ariko jewe noshima kwivuganira na Mushoboravyose.
Nohimbarwa no gushikiriza Imana urubanza rwanje+.
6 Ndabasavye mwumvirize ivyo nireguza.
Nimutege ugutwi ukwiburanira kwanje.
7 Muvuge ibinyoma ngo muriko muvugira Imana?
Mwubahuke kuyibeshera?
9 Hamwe yobasuzuma, mwibaza ko yosanga mwera+?
Ugira ngo mwoyibesha nk’uko mubesha umuntu?
11 Mbega ntimwotinya icubahiro cayo?
Ntimwogira ubwoba kubera yo?
12 Amajambo yanyu y’ubwenge* ni imigani ata co imaze nk’iminyota.
Ivyo mwireguza* bimeze nk’inkinzo z’ibumba.
13 Nimuhore nanje mvuge,
maze bice aho bishaka!
17 Nimwumvirize neza amajambo yanje.
Nimutege amatwi ivyo mvuga.
18 Ubu rero nateguye urubanza rwanje,
ndazi neza ko ndi mu kuri.
19 Ni nde yonyagiriza ikosa?
Hamwe noguma ncereje noca mpfa*.
22 Nuvuge nanje ndakwishure,
canke na ho ureke mvuge, nawe unyishure.
23 Amakosa yanje n’ibicumuro vyanje ni ibihe?
Nyereka ubugarariji bwanje n’igicumuro canje.
25 Mbega wogerageza gutera ubwoba ibabi riguruwe n’umuyaga?
Canke wokwiruka inyuma y’ivyatsi vyumye?
26 Kuko uguma wandika ibirego bikaze vyo kunyagiriza,
ugatuma nishura ibicumuro vyo mu buto bwanje.
uguma usuzuma inzira zanje zose,
kandi uguma ukurikirana aho mponyoza ikirenge hose.
4 Mbega hari umuntu ahumanye yovyara uwudahumanye+?
Nta n’umwe.
5 Nimba imisi yiwe yarashinzwe,
aho rero igitigiri c’amezi yiwe kiri mu maboko yawe.
Waramushingiye akarimbi ntarengwa+.
7 Erega hariho icizigiro no ku giti.
Iyo ciciwe, kirasubira kunaga,
kandi iminago yaco ikabandanya gukura.
8 Naho imizi yaco yosazira mu kuzimu
n’igishitsi caco kigapfira mw’ivu,
9 gipfa kwumva amazi gusa kigaca kinaga,
kikazana amashami nk’igiterwa gishasha.
11 Amazi arazimangana mu kiyaga,
kandi n’uruzi ruratumuka rugakama.
12 Umuntu na we nyene araryama ntasubire kuvyuka+.
Igihe cose ijuru rizoba rikiriho ntazokwikangura,
kandi nta wuzomukangura mw’itiro ryiwe+.
13 Iyaba wompishije mu kuzimu+,
ukanyegeza gushika ishavu ryawe riheze,
ukanshingira igihe maze ukanyibuka+!
14 Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho+?
15 Uzohamagara, nanje nitabe+.
Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.
16 Ariko ubu uguma uharura intambuko zanje zose,
uguma ureretse igicumuro canje.
17 Igicumuro canje cugaraniwe mw’isaho,
ikosa ryanje warariboshe ushirako n’uburembo.
18 Nka kurya kw’umusozi usenyutse ugasanzara,
nka kurya igitandara gikurwa mu kibanza caco,
19 nka kurya nyene amazi akorogoshora amabuye,
imivo y’ayo mazi na yo igakukumura ivu ryo hasi,
ni ko waranduye icizigiro c’umuntu.
22 Yumva ububabare igihe gusa akiri muzima.
Agandara igihe gusa akiriho.»
15 Elifazi+ w’i Temani amwishura ati:
2 «Mbega umuntu w’inkerebutsi yovuga ibintu ata co bimaze*?
Canke yokwuzuza inda yiwe umuyaga wo mu buseruko?
3 Gukosora ukoresheje amajambo gusa nta co bimaze,
kandi kuvuga vyonyene nta co vyungura.
4 Kuko utuma abantu batabandanya gutinya Imana,
kandi ugatuma batabandanya kuyiyumvira.
7 Mbega ni wewe watanze abantu bose kuvuka?
Canke waratanze imisozi kubaho?
8 Woba wumviriza amabanga y’Imana?
Canke ugira ngo ni wewe gusa ufise ubukerebutsi?
9 Ni ibiki uzi twebwe tutazi+?
Ni ibiki utahura twebwe tudatahura?
11 Mbega ukwirurwa kuvuye ku Mana,
canke amajambo bakubwiranye ubwitonzi ntibikubumba?
12 Kubera iki ureka umutima wawe ukakuzimiza,
n’amaso yawe akarungura kubera ishavu?
13 Erega ushavuriye Imana ubwayo.
Ni co gituma uriko uvuga amajambo mwene ayo.
17 Nyumviriza ndakubwire,
ndakwiganire ivyo niboneye,
18 ivyo abantu b’inkerebutsi batanyegeje,
ivyo biganye babibwiwe na ba sekuruza babo+.
19 Ni bo bonyene baba mu gihugu bahawe,
kandi nta munyamahanga yari muri bo.
20 Umubisha amara ubuzima bwiwe bwose mu mibabaro.
Uwuhahaza abandi amara imyaka yiwe yose mu vyago.
23 Arayerera arondera ibifungurwa*, ariko abikura he?
Arazi neza ko umusi w’umwiza ugira ushike.
24 Amaganya n’umubabaro biguma bimutera ubwoba.
Bimuzako nka kurya kw’umwami yiteguriye igitero.
25 Aramvura ukuboko kugira arwanye Imana ubwayo,
akagerageza kwihanga* Mushoboravyose.
26 Ayirukako n’akagagazo n’akantu,
yitwaje inkinzo ikomeye, ifise intimbatimba nini*.
27 Yarakakamye mu maso kubera ukuvyibuha.
Mu mafyinga yiwe huzuye ibinure*.
28 Ibisagara abamwo bizocika umusaka.
Amazu abamwo nta wuzosubira kuyabamwo,
azosigara ari ibirundo vy’amabuye gusa.
29 Ntazoba umutunzi, ivyo afise ntibizokwongerekana.
Ibintu atunze ntibizokwiragira mu gihugu.
30 Ntazohunga umwiza.
Urubeya ruzoturira umuvyaro wiwe*,
kandi azokwicwa n’impemu zivuye mu kanwa k’Imana+.
31 Ntaze yihende ngo yizigire ibitagira akamaro,
kuko yokwimbura ibitagira akamaro.
32 Ivyo bizomushikira budakeye na kabiri,
kandi amashami yiwe ntazokwigera atotahara+.
33 Azomera nk’igiti gitibagura inzabibu zaco zitarera,
nk’igiti c’umwelayo* gitibagura amashurwe yaco.
34 Kuko ikoraniro ry’abantu batubaha Imana* ata co rivamwo+,
kandi umuriro uzoturira amahema y’abarya igiturire.
35 Batwara inda y’ibibi bakavyara ibintu bibabaza,
kandi inda zabo zuzuye ububeshi.»
16 Yobu yishura ati:
2 «Nari maze kwumva ibintu vyinshi nk’ivyo.
Mwese muri abahoza batera umubabaro+.
3 Mbega amajambo ata co amaze* arigera ahera?
Ni igiki gitumye wishura gutyo?
4 Erega nanje noshobora kuvuga nkamwe.
Iyaba mwari mu kibanza canje,
nari gushobora kubabwira amajambo akaze yo kubanegura,
kandi nkabazungagiriza umutwe+.
8 Ariko kandi yarancakiye, kandi ivyo biribonekeza.
Ukwonda kwanje ni icabona kinyagiriza.
9 Ishavu ryayo ryarantabaguye, imfitiye inzigo+.
Iguma impekenyera imisaya*.
Umwansi wanje aguma andaba igitsure+.
10 Abantu bataburuye akanwa ngo bandotse+,
bankubita amakofe n’akagaye n’akantu.
Bankoraniyeko ari isinzi+.
12 Nari nitekaniye, ariko yaramenaguye+.
Yarancakiye kw’izosi maze iransavya,
iraheza intumberezako imyampi yayo.
13 Abarasisha umuheto bayo barankikuje+.
Irantobagura amafyigo+ ata kigongwe,
igasesa hasi indurwe yanje.
14 Irantobagura ngasigara ndi ibitoboro gusa.
Insimbirako nka kurya kw’umurwanyi.
16 Mu maso hanje hatukuye kubera amarira+,
amaso yanje yirabuye kubera intuntu*,
17 naho ata kibi amaboko yanje yakoze,
kandi nkaba nsenga ata co niyagiriza.
18 Ewe wa si we, ntupfuke amaraso yanje+,
kandi amaborogo yanje ntiyigere ahagarara!
19 Ubu rero icabona canje kiri mw’ijuru.
Uwushobora kunshingira intahe ari hejuru.
3 Ewe Mana, ndagusavye wakire ingwati yanje uyigumye.
Hari uwundi none twokorana mu ntoke akemera kunyishinga+?
5 Hari abemera gusangira ivyabo n’abagenzi,
kandi abana babo bariko bicwa n’inzara.
7 Amaso yanje asigaye abona ivyijiji kubera intuntu+.
Ibihimba vy’umubiri wanje vyose vyaranyunyutse*.
12 Ijoro baguma baryita umurango,
bakivugira ngo: “Umuco ugira uboneke kuko bwije.”
14 Nzosemerera mbwira icobo*+ nti: “Uri dawe!”
Urunyo na rwo ndarubwire nti: “Uri mawe na mushikanje!”
15 None icizigiro canje kiri hehe+?
Ni nde akimbonera ga yemwe?
18 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:
2 «Uzogeza ryari kuvuga amajambo nk’ayo?
Niwikubite agashi* maze tubandanye kuyaga.
4 Naho woshavura ukameneka!
Ugira ngo isi izoca ihebwa kubera wewe,
canke ugira ngo ibitandara bizoca vyimuka?
6 Umuco wo mw’ihema ryiwe uzohinduka umwiza,
kandi itara riri hejuru yiwe rizozima.
8 Kuko ibirenge vyiwe bizomujana mu rusenga,
kandi azojuragirika ari muri rwo.
10 Umugozi wo kumufata unyegejwe mw’ivu.
Umutego uramurindiriye mu nzira yiwe.
13 Urukoba rwiwe ruratabagurika,
umubiri wiwe ugaterwa n’indwara yica cane.
16 Nka kurya kw’igiti, imizi yiwe izokwumira munsi yiwe,
kandi amashami yiwe azokwumira kuri we.
18 Bazomukura mu muco bamuhindire mu mwiza,
kandi bazomwomora kw’isi.
19 Nta ruvyaro canke abamukomokako azoronka mu bantu b’iwabo.
Nta muntu n’umwe azorokoka aho yahora aba*.
20 Ku musi w’ivyago vyiwe, abantu bo mu burengero bazokwumirwa,
abo mu buseruko na bo bazotekerwa n’ubwoba.
21 Ivyo ni vyo bishikira amahema y’inkozi y’ikibi,
ni vyo bishikira ahantu haba umuntu atazi Imana.»
19 Yobu aca yishura ati:
4 Asangwa narakoze ikosa,
ivyo ni jewe biraba.
5 Nimba mushaka kuguma munyiratako,
mukavuga ko ivyago vyanshikiye ndabibereye,
6 nimumenye rero ko Imana ari yo yanzimije,
ikamfatira mu rusenga rwayo rw’uruhigi.
7 Nguma nsemerera nti: “Narenganijwe”, ariko nta wunyishura+.
Nguma ntabaza, ariko nta butungane buhari+.
8 Inzira yanje yayizibije uruhome rw’amabuye, sinshobora kurengana.
Ibarabara ryanje yaryujujemwo umwiza+.
9 Yaranyatse ubuninahazwa bwanje,
inkura urugori ku mutwe.
10 Insenyagura impande zose gushika nzimanganye,
ikarandura icizigiro canje nka kurya kw’igiti.
12 Ingabo zayo zaziye icarimwe kunyugariza,
kandi zicumbitse irya n’ino y’ihema ryanje.
16 Ndahamagara umusuku wanje ntanyitabe.
Ndamutakambira ngo angirire impuhwe.
18 Mbere n’utwana dutoyi dusigaye tungaya.
Mpfa guhaguruka tugaca dutangura kunzomera.
23 Icompa amajambo yanje akandikwa!
Ese icompa akandikwa mu gitabu!
24 Ese iyaba yokwanditswe ku gitandara akagumaho,
akandikwa hakoreshejwe ikaramu* y’icuma n’ubutare bw’isasu!
26 Naho urukoba rwanje ruzoba rwasinzikaye,
nzobona Imana nkiri muzima.
27 Ubwanje nzoyibona.
Amaso yanje azoyibona, si ay’uwundi azoyibona+.
Ariko muri jewe numva ndengewe*.
28 Kuko muvuga muti: “Turiko tugutoteza gute+?”
Ukamenga ni jewe muzi w’ingorane.
kuko abakora amakosa bahanishwa inkota.
Mukwiye kumenya ko hariho umucamanza+.»
20 Zofari+ w’i Nayama yishura ati:
2 «Ndabuze amahoro, birananiye kwihangana.
Ni co gituma ngira mvuge.
4 Uko biri kwose wari usanzwe uzi iki kintu,
kuko ari ko vyamye biri kuva umuntu* aremwe kw’isi+:
5 Umunezero w’umubisha umara akanya isase,
6 Naho yoduga agashika kw’ijuru kubera ubwibone,
n’umutwe wiwe ukaduga ugakora ku bicu,
7 azozimangana ibihe vyose nk’umwanda mukuru wiwe,
abahora bamubona bazobaza bati: “Ari hehe?”
8 Azokamangana nk’indoto, ntibasubire kumubona.
Azozimangana nk’ivyo umuntu yeretswe mw’ijoro.
11 Inkomezi z’ubusore zuzuye mu magufa yiwe,
ariko zizoryamana na we mu mukungugu.
12 Nimba asoserwa n’ikibi mu kanwa kiwe,
akakinyegeza munsi y’ururimi rwiwe,
13 nimba aguma acinovora ntakimire,
mugabo akakigumana mu kanwa kiwe,
14 ivyo kurya vyiwe bizohinduka umururazi bigeze muri we,
bizomera nk’ubumara bw’incira* muri we.
15 Ubutunzi yamize azobudahwa.
Imana izobukura mu nda yiwe bwose.
17 Ntazokwigera abona imigezi y’amazi,
inzuzi zitembamwo ubuki n’amavuta y’inka.
19 Kuko yacinyije abakene kandi akabaheba.
Yanyaze inzu atigeze yubaka.
20 Ariko ntazokwigera aronka amahoro.
Ubutunzi bwiwe ntibuzomukiza.
21 Ivyo yahora arotsa vyamuheranye.
Ni co gituma ugusagamba kwiwe kutazomara na kabiri.
22 Ubutunzi bwiwe nibwashika kw’isonga, azoca yicwa n’amaganya.
Ivyago vyose bizoca bimukoranirako.
23 Akiriko aruzuza inda yiwe,
Imana izoca imusukako ishavu ryayo rirurumba,
rimugweko nk’imvura gushika no mu mara yiwe.
24 Niyahunga ibirwanisho vy’icuma,
imyampi y’umuheto w’umujumpu izoca imutobekeranya.
25 Asokora umwampi wamutoboye mu mugongo,
ikirwanisho gica ibibatsi camutobekeranije mu nda*,
agaca atekerwa n’ubwoba+.
26 Ubutunzi bwiwe bubikiwe umwiza w’umuzitanya.
Azoturirwa n’umuriro wiyadukije.
Abazorokoka mw’ihema ryiwe bose bazohitanwa n’ivyago.
27 Ijuru rizoshira ahabona ikosa ryiwe.
Isi izomuhagurukira imurwanye.
28 Inzu yiwe izohitanwa n’umwuzure.
Imana izoteza isegenya rikomeye ku musi w’ishavu ryayo.
29 Uwo ni wo mugabane Imana iha umubisha,
ni yo ntoranwa Imana yamuteguriye.»
21 Yobu yishura ati:
2 «Nimwumvirize neza ivyo ngira mvuge.
Aho ni ho mwoba mumpojeje.
4 Mbega mwibaza ko ndiko nganyira umuntu?
Hamwe vyoba ari ukwo, ukwihangana nogukura hehe?
5 Nimundabe mwumirwe.
Nimwifate ku munwa.
6 Iyo ndavyiyumviriye birampagarika umutima,
umubiri wanje wose ukajugumira.
8 Bama bakikujwe n’abana babo,
bakabona n’uruvyaro rwabo.
10 Impfizi zabo zirimya zigafatisha.
Inka zabo ziravyara, ntiziramburura.
11 Uduhungu twabo turiruka hanze nk’imyagazi y’intama,
abana babo bakaguma bikina amatavu.
14 Mugabo babwira Imana y’ukuri bati: “Twirekere!
Ntidushaka kumenya inzira zawe+.
15 Mushoboravyose ni nde ngo tumukorere+?
Mbega kumumenya vyotumarira iki+?”
16 Ariko ndazi ko ukuroranirwa kwabo kutari mu minwe yabo+.
Ivyiyumviro* vy’ababisha biri kure yanje+.
17 Ni kangahe murabona itara ry’ababisha rizima+?
Ni kangahe ivyago bibazako?
Ni kangahe Imana ibarandura yashavuye?
18 Mbega barigera bamera nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga?
Barigera bamera nk’umuguruka utwawe n’igihuhusi?
19 Igihano c’umubisha Imana izokibikira abana biwe.
Ese yobimwishura ku buryo abimenya+!
23 Hari abantu bapfa bagifise inkomezi zabo zose+,
ata myitwarariko bafise, bitekaniye+,
24 amatako yabo yuzuyeko ibinure,
n’amagufa yabo agikomeye*.
25 Hakaba n’abandi bapfana agahinda,
batigeze bahonja ivyiza.
29 Mbega ntimurabaza abagira ingendo?
Ntimusuzuma neza ivyo bashitseko*?
30 Ntimwabonye ko umubisha akingirwa ku musi w’ivyago
akongera agatabarwa ku musi w’uburake?
31 Ni nde yomwereka amaso mu yandi ko inzira yiwe ari mbi?
Ni nde yomusubiriza mu nkoko ku vyo yakoze?
32 Iyo bamuhamvye mw’itongo ry’abapfuye,
imva yiwe iguma icungerewe.
34 Kubera iki none mumpa uruhoza ata co rumaze+?
Ivyo munyishura vyose ni ibinyoma gusa.»
22 Elifazi+ w’i Temani yishura ati:
2 «Mbega umuntu hari ico yomarira Imana?
Hari ico yoyimarira naho yoba ari inkerebutsi*+?
3 Ubugororotsi bwawe hari ico buvuze kuri Mushoboravyose*?
Hari ico yunguka ngo ni uko ugumye uri intungane+?
4 Mbega yoguhana
canke ikagushira mu rubanza kubera uyubaha?
9 Abapfakazi wabarungitse iminwe misa.
Amaboko y’impfuvyi warayavunaguye.
10 Ni co gituma ukikujwe n’imitego*+,
ugatinya ibintu biteye akaga bije giturumbuka.
11 Ni co gituma uri mu mwiza ku buryo udashobora kubona,
kandi ukaba urengewe n’amazi menshi.
12 Mbega Imana ntiri hejuru mw’ijuru?
Vyongeye, raba ukuntu inyenyeri zose ziri hejuru cane.
13 Ariko wewe uvuga uti: “Mbega Imana izi iki?
Yoshobora guca urubanza kandi itangiriwe n’umwiza w’umuzitanya?
15 Mbega uzogendera mu nzira ya kera,
iyo abanyakibi bagendeyemwo,
17 Bahora babwira Imana y’ukuri ngo: “Twirekere!”
Bakavuga ngo: “Mbega Mushoboravyose yotugira iki?”
18 Ariko ni we yujuje amazu yabo ivyiza.
(Ivyo vyiyumviro bibi ntibikanzemwo.)
19 Abagororotsi bazobibona banezerwe.
Abantu b’intungane bazobatwengera mw’ijigo, bavuge bati:
20 “Abansi bacu bazimanganye,
kandi n’ibisigarira vyabo bizoturirwa n’umuriro.”
21 Niwiyegereze Imana, wibereho amahoro.
Uzoheza wironkere ivyiza.
23 Niwagaruka kuri Mushoboravyose, uzosubirana+.
Niwakura ibitagororotse mw’ihema ryawe,
24 ugata inzahabu zawe mu mukungugu
kandi ugashiburira inzahabu z’i Ofiri+ mu manga*,
25 Mushoboravyose azoca akubera inzahabu,
akubere n’ifeza nzizanziza.
26 Aho ni ho uzohimbarwa na Mushoboravyose,
kandi uzokwunamura amaso uyerekeza ku Mana.
27 Uzoyinginga, na yo ikwumve,
kandi uzoshitsa indagano zawe.
28 Ico ushatse gukora cose kizororanirwa,
kandi umuco uzokumurikira mu nzira yawe.
30 Izotabara abantu b’intungane.
Nimba rero amaboko yawe yera, ntizobura kukurokora.»
23 Yobu yishura ati:
3 Iyaba gusa nari nzi aho Imana iri+!
Nogiye nkayisanga aho iba+.
4 Noyishikirije urubanza rwanje,
nkuzuza akanwa kanje ivyiyumviro nireguza.
5 Noheza nkumva ico inyishura,
ngatega ugutwi ico imbwira.
6 Ugira yondwanya ikoresheje ububasha bwayo bukomeye?
Oya nawe! Ahubwo riho yonyumviriza+.
7 Umugororotsi yoshobora kwisigura imbere yayo,
kandi Umucamanza wanje yonyambika izera rimwe rizima.
8 Ariko nja mu buseruko sindayisangeyo,
nagaruka na ho nyene nkayibura.
9 Iyo iriko ikorera ibubamfu, ndayiraba nkayibura.
Iyo ihindukiye igakorera iburyo, na ho nyene sindayibona.
10 Ariko yoyo irazi inzira yanje+.
Niyaheza kungeza, nzosohoka meze nk’inzahabu itavanze+.
12 Sinigeze mva ku mabwirizwa yo mu kanwa kayo.
Narakurikije amajambo yayo+, mbere ndarenza ivyo insaba*.
13 Iyo ifashe ingingo, ni nde yoyibuza+?
Iyo ishatse gukora ikintu iragikora+.
15 Ni co gituma mpagaritse umutima kubera yo.
Iyo ndayiyumviriye, ubwoba buca bwongerekana.
16 Imana yatumye ntinya,
Mushoboravyose yaranteye ubwoba.
17 Ariko sinanumijwe n’umwijima,
canke umwiza w’umuzitanya umpfutse mu maso.
24 Kuki Mushoboravyose adashinga umusi w’urubanza+?
Kubera iki abamuzi batabona uwo musi?
5 Abakene barondera ivyo barya mu gahinga nk’indogobwa zo mw’ishamba+,
bakaronderera utwo kurya abana babo mu bugaragwa.
8 Imvura ibanyagira bari mu misozi,
bakikinga ibitandara kubera batagira aho bugama.
9 Ababisha bashikura impfuvyi* kw’ibere+.
Bafata impuzu z’abakene nk’ingwati+,
10 bigatuma bagenda bari gusa, ata gahuzu bambaye,
kandi bakikorera imiganda y’ivyo bimbuye bashonje.
12 Abari ku mpfiro baguma baborogera mu gisagara.
Abakomeretse cane baguma batabaza+,
ariko Imana nta co biyibwiye*.
14 Iyo bukeye umwicanyi arahaguruka,
akagandagura abatagira gitabara n’abakene+.
Mw’ijoro na ho aca atangura kwiba.
maze akitwikira mu maso.
16 Abasuma bamena amazu y’abandi mu mwijima,
bakiyugaranira mu mazu yabo ku murango.
Barazirana n’umuco w’umurango+.
17 Igitondo n’umwiza ni cokimwe kuri bo.
Baramenyereye ibitera ubwoba mu mwiza w’umuzitanya.
18 Ariko amazi ntateba kubakukumura.
Amatongo yabo yaravumwe+.
Ntibazogaruka mu mirima yabo y’imizabibu.
19 Kurya nyene uruzuba n’ubushuhe bituma urubura* rukamangana,
ni ko n’ukuzimu kuzimanganya abacumuye+.
20 Ababavyaye* bazobibagira; inyo zizobagirako umusi mukuru.
Nta wuzosubira kubibuka+.
Abanyakibi bazovunika nka kurya kw’igiti.
21 Batoteza umugore w’ingumba,
bagafata nabi umupfakazi.
22 Imana izorandura abanyenkomezi ikoresheje ububasha bwayo.
Naho botera imbere, nta cizigiro co kubaho bafise.
24 Bashirwa hejuru akanya gato hanyuma ntibabe bakiriho+.
Baracishwa bugufi+, bagapfa nk’abandi bose.
Bameze nk’amahundo y’ingano yaciwe.
25 Ni nde none yokwerekana ko ndi umubeshi
canke akampinyuza?»
25 Biludadi+ w’i Shuhi yishura ati:
3 Mbega hari uwoharura ingabo zayo?
Hari n’umwe adashikirwa n’umuco wayo?
5 Mbere n’ukwezi ntikwakaka imbere yayo!
Eka n’inyenyeri ntizisayangana* mu maso yayo!
6 Nkanswe rero umuntu buntu ari urunyo,
n’umwana w’umuntu ari umusiba!»
26 Yobu yishura ati:
2 «Ewe kuntu ufashije uwutagira utuguvu!
Ese ukuntu ukijije ukuboko kutagira inkomezi+!
3 Mbega ukuntu uhaye impanuro nziza umuntu atagira ubwenge+!
Ese ukuntu ushize ahabona cane ubukerebutsi nyabwo!
5 Abapfuye, barya ata co bagishoboye, barajugumira imbere y’Imana.
Bari munsi y’amazi n’ibiba muri yo.
isi ikayitereka ku busa gusa.
8 Itekera amazi mu bicu vyayo+,
ku buryo ibicu bidasaturwa n’uburemere bwayo.
9 Ipfuka intebe yayo y’ubwami,
ikayisanzako igicu cayo+.
11 Inkingi z’ijuru ziranyiganyiga,
zikajugumira zumvise ugukankama kw’Imana.
12 Ituma ikiyaga gisuriranya ikoresheje inguvu zayo+,
ikajanjagura urukoko* rwo mu mazi ikoresheje ugutegera kwayo+.
14 Erega utwo ni udusunwa gusa tw’inzira zayo+!
Ivyo tumaze kwumva ku biyerekeye ni utwongoshwe gusa!
Ni nde none yotahura umuturagaro wayo ukomeye+?»
27 Yobu abandanya kuvuga ati:
2 «Ndakurahiye Imana nzima, yo yanse kuntunganiriza+.
Ndakurahiye Mushoboravyose, we yatumye ubuzima bumbera umururazi+.
3 Igihe cose nzoba ngihema,
impwemu y’Imana ikiri mu mazuru yanje+,
4 iminwa yanje ntizovuga ibitagororotse,
n’ururimi rwanje ntiruzovuga ibinyoma mu ntamatama!
5 Sinokwubahuka kubita abagororotsi!
Nzorinda mpfa ntarekuye* ugutungana kwanje+!
6 Nzogumana ubugororotsi bwanje, sinzopfa ndaburekuye+.
Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza* igihe cose nzoba nkiriho*.
7 Umwansi wanje arakaba nk’umubisha,
abandwanya na bo babe nk’inkozi z’ikibi.
10 Mbega azohimbarwa na Mushoboravyose?
Yoba azoguma atakambira Imana igihe cose?
11 Reka ndabigishe ivyerekeye ububasha bw’Imana*.
Sinobahisha ikintu na kimwe cerekeye Mushoboravyose.
12 Ko wumva mwese mweretswe,
kuki none muvuga ibintu ata co bimaze?
13 Uyu ni wo mugabane Imana iha umuntu w’umubisha+.
Ni yo ntoranwa Mushoboravyose aha abahahaza abandi.
16 Naho yorundanya ifeza nk’uko barundanya umukungugu,
akegeranya impuzu nzizanziza nk’uko begeranya ibumba,
17 naho yokwegeranya izo mpuzu,
umugororotsi ni we azozambara+,
kandi abantu b’intungane ni bo bazogabura ifeza ziwe.
19 Azoja kuryama ari umutunzi, ariko iryo tunga rizomuhomberako.
Niyikangura azosanga ata na kimwe asigaranye.
28 Hariho ikibanza bacukuramwo ifeza,
hakabaho n’ikibanza batyororeramwo inzahabu+.
2 Ubutare bw’icuma babukura mw’ivu,
umujumpu na wo ukava mu mabuye bashongesheje+.
4 Barimba ibinogo kure y’aho abantu baba,
ahantu hibagiwe, kure y’aho abantu baca.
Bamwebamwe bamanukayo benena ku migozi.
6 Amabuye yaho arimwo safiro,
ivu ryaho na ryo ririmwo inzahabu.
7 Iyo nzira nta gisiga na kimwe kiyizi,
n’ikinyamwanira cirabura nticigeze kiyibona.
8 Ibikoko bikaze ntivyigeze biyihonyoramwo,
mbere n’intambwe ntiyigeze iyicamwo.
9 Abantu bamenagura ibitandara vy’isare n’amaboko,
imisozi bakayirandurana n’imishinge yayo.
11 Bagomera amasoko y’inzuzi,
bagashira ahabona ivyari binyegejwe.
14 Amazi y’ibenga yavuze ati: “Ntiburi muri jewe!”
Ikiyaga na co giti: “Ntiburi iwanje+!”
18 Ibuye ryitwa korali n’iryitwa kirisitalo yoyo ntiyovugwa+,
kuko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita*.
19 Ntibwogereranywa n’ibuye ry’i Kushi ryitwa topazi+,
kandi n’inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura.
23 Imana ni yo izi inzira ija iyo buri.
Ni yo yonyene izi aho buba+,
24 kuko yitegereza gushika no ku mpera y’isi,
ikabona ibintu vyose biri munsi y’ijuru+.
25 Igihe yaha inguvu* umuyaga+,
igapima ingene amazi yose angana+,
26 igihe yashingira imvura amategeko+,
igacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,
27 ni ho yabona ubukerebutsi yongera irabusigura.
Yarabushinze yongera irabusuzuma.
28 Iraheza ibwira umuntu iti:
29 Yobu abandanya kuvuga ati:
2 «Icompa ngasubira kumera nko mu mezi yaheze,
ya misi ya kera aho Imana yangumizako ijisho,
3 igihe itara ryayo ryakira hejuru yanje,
ngaca mu mwiza murikiwe n’umuco wayo+,
4 igihe nari nkiritera nkarisama,
urugo rwanje rugifitaniye ubucuti bwiza n’Imana+,
5 igihe Mushoboravyose yari akiri kumwe nanje,
ngikikujwe n’abana* banje,
6 igihe noza ibirenge vyanje mu mata*,
ibitandara na vyo bikancuncuburira imigezi y’amavuta+!
7 Iyo ngiye kw’irembo ry’igisagara+
maze nkicara mu kibanza rusangi*+,
8 imisore yarambona igataramuka*,
mbere n’abatama barahaguruka bakaguma bahagaze+.
9 Abaganwa baririnda kuvuga,
bakifata ku munwa.
10 Abantu bahambaye baranuma,
ururimi rwabo rugafatana n’amagage.
11 Uwanyumva wese yaramvuga neza,
abambona bakanshingira intahe.
15 Nabera amaso impumyi,
nkabera ibirenge uwucumbagira.
18 Nahora mvuga nti: “Nzopfira mu rugo rwanje*+,
kandi imisi yanje izoba myinshi nk’udutete tw’umusenyi.
19 Imizi yanje izoshorera mu mazi,
kandi urume ruzoguma ku mashami yanje ijoro ryose.
23 Barandindira nk’uko barindira imvura.
Bari bashashaye kunyumviriza nk’abarindiriye imvura y’impeshi+.
25 Narabereka inzira bakwiye gucamwo nk’umukuru wabo.
Nari mbayeho nk’umwami hagati y’ingabo ziwe+,
nk’umuntu ahoza abagandaye+.
30 Ariko ubu, abantu ndusha imyaka
basigaye bantwenga+,
abo ntari kwemera ko ba se
baja hamwe n’imbwa zicunga ibitungwa vyanje.
2 None inguvu z’amaboko yabo zamariye iki?
Inkomezi zabo zarabaheranye.
3 Ubukene n’inzara vyarabazingamitse.
Barondera utwo bahekenya ahantu hagadutse,
ahantu hamaze kwononekara kandi h’umusaka.
7 Baborogera mu bisaka,
bakarundana mu vyatsi vy’ibisuru.
12 Bahaguruka iburyo bwanje nk’akagwi k’ababisha.
Barankinagiza
maze bagashira imitego mu nzira yanje kugira bandandure.
14 Baza nk’abaciye mu rutoboro runini rwo mu ruhome,
bagashwara ahantu h’umusaka.
15 Narengewe n’ubwoba.
Icubahiro canje cazimanganye nk’ikiguruwe n’umuyaga.
Ubukiriro bwanje bwakamanganye nka kurya kw’igicu.
19 Imana yantereye mu vyondo.
Nsigaye nsa n’umukungugu be n’iminyota.
23 Ndazi ko uzonshikana mu rupfu,
muri ya nzu abantu bose bazoruhira kujamwo.
25 Mbega sinahora ndira mbonye abashikiwe n’ivyago*?
Sinababara cane mbonye umuntu w’umworo+?
26 Naho nari nizigiye iciza, haje ikibi.
Nari niteze umuco ariko haje umwiza.
27 Mu mutima wanje sinigeze ntekana.
Nashikiwe n’imisi y’amarushwa.
28 Ntambuka nijiriwe+, nta n’umuco w’izuba uhari.
Ndahaguruka ngatabaza hagati mw’ishengero.
31 Inanga yanje isigaye ivuzwa gusa mu kigandaro,
umwironge wanje ukavuzwa gusa mu guherekeza ijwi ry’abarira.
31 Nagiraniye isezerano n’amaso yanje+.
None nokwubahuka gute kuraba umugore w’abandi* mu buryo butabereye+?
2 None ni umugabane uwuhe Imana yo mw’ijuru yompa?
Ni intoranwa iyihe nohabwa na Mushoboravyose ari iyo hejuru?
5 Noba narigeze ngendera mu kinyoma*?
Ikirenge canje coba carihutiye kubesha+?
7 Ikirenge canje nicaba carataye inzira+,
umutima wanje ukaba warakurikiye amaso yanje+
canke ibiganza vyanje bikaba vyaranduye,
8 abandi baraca barya ivyo narimye+
bongere barandure ivyo nateragiye*.
9 Umutima wanje ukaba waripfuje uwundi mugore+
canke nkaba narabundabunze+ ku muryango wa mugenzanje,
10 umugore wanje rero nasyere uwundi mugabo
Noyishura iki igize ico imbaza+?
15 Mbega uwandemeye mu nda ya mama si we yabaremye+?
Si we yatubumvye twese imbere y’uko tuvuka*+?
16 Nimba narimye abakene ico bipfuza+
canke ngatuma abapfakazi bihebura*+,
17 nimba narariye ibifungurwa vyanje jenyene
simpeko impfuvyi+,
18 (Nakuranye n’impfuvyi kuva nkiri muto, mba nka se wazo,
kandi namye mfasha abapfakazi kuva nkiri umwana*.)
19 nimba narigeze kubona uwishwe n’imbeho kubera atagira agahuzu
canke umukene atagira ico yipfuka+,
20 nimba yaranse kumpezagira*+
kubera ntamuhaye ubwoya bw’intama zanje ngo bumususurutse,
21 nimba narigeze gutera ubwoba* impfuvyi+
igihe yari ikeneye ko ndayifasha kw’irembo ry’igisagara*+,
22 ukuboko* kwanje rero nigutandukane n’ibitugu
kandi kuvunikire mu nkokora*.
23 Kuko natinya icago kivuye ku Mana
kandi sinari gushobora guhagarara imbere y’ubuninahazwa bwayo.
25 nimba umunezero wanje wava kw’itunga ryinshi mfise+
kubera ubutunzi bwinshi nari nararonse+,
26 nimba narigeze kubona izuba* rikayangana
canke ukwezi kugendagenda mu bwiza bwakwo+,
27 hanyuma umutima wanje ukoshwa mu mpisho
maze nkabisenga mu gusoma ikiganza canje+,
28 iryo rero ryoba ari ikosa rihanwa n’abacamanza,
kuko nari kuba nihakanye Imana y’ukuri iri mw’ijuru.
29 Noba narigeze mpimbarwa n’uko umwansi wanje yatikiye+,
canke ngo nezerwe kubera yashikiwe n’ivyago?
31 Mbega abo mw’ihema ryanje ntibavuze bati:
33 Noba narigeze ngerageza gupfuka ibicumuro vyanje nk’abandi+
mu guhisha ikosa ryanje mu mupfuko w’impuzu?
34 Noba naratinye isinzi ry’abantu,
canke ngaterwa ubwoba n’uko iyindi miryango yonsuzugura,
ku buryo nguma numye, ngatinya gusohoka hanze?
35 Ese iyaba nari mfise uwunyumviriza+,
nosinya* nkemeza ko ivyo navuze ari ukuri!
Mushoboravyose nanyishure+!
Ese iyaba uwunyagiriza yanditse ibirego vyiwe!
36 Nobitwaye ku rutugu rwanje,
nkabibohera ku mutwe wanje nk’urugori.
37 Nokwisiguye imbere y’Imana ku vyo nakoze vyose,
nkayegera ntekanye nk’umuganwa.
38 Nimba umurima wanje waratakamvye unyidogera,
n’amaburi baciye muri wo akaririra hamwe,
39 nimba narariye umwimbu wawo kuri gusa+
canke ngatuma benewo bihebura+,
40 uwo murima rero uraca umera amahwa mu kibanza c’ingano,
umere ivyatsi binuka mu kibanza ca sayiri.»
Amajambo ya Yobu agarukiye aha.
32 Nuko abo bagabo batatu bareka kugerageza kwishura Yobu, kuko yabona ko ari umugororotsi+. 2 Ariko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi+ wo mu muryango wa Ramu yari yashavuye cane. Yari ashavuriye Yobu kubera yariko agerageza kwerekana ko ari we ari mu kuri, aho kuvuga ko Imana ari yo iri mu kuri+. 3 Vyongeye, yari ashavuriye cane ba bagenzi batatu ba Yobu, kuko bari babuze ico bishura ahubwo bakegeka amakosa ku Mana+. 4 Elihu yari yabaye ararindira kwishura Yobu kuko bamurusha imyaka+. 5 Elihu abonye ko ba bagabo batatu babuze ico bishura, aca ararungura n’ishavu. 6 Elihu mwene Barakeli w’i Buzi araheza afata ijambo, avuga ati:
Ni co gituma nabubashe nkigumya+,
sintinyuke kubabwira ico nzi.
9 Imyaka gusa si yo ituma umuntu aba inkerebutsi,
kandi abatama bonyene si bo batahura ibigororotse+.
10 Ni co gituma mvuze nti: “Nimunyumvirize,
nanje ndababwire ico nzi.”
11 Raba narindiriye amajambo yanyu,
ndatega ugutwi ivyiyumviro vyanyu+
igihe mwariko murondera ikintu gitomoye mwovuga+.
12 Nagumye ndabateze yompi,
ariko nta n’umwe yashoboye kwerekana ko Yobu ari mw’ikosa*,
canke ngo aronke ico yishura ku majambo yiwe.
13 Ntimuvuge rero ngo: “Turafise ubukerebutsi.
Imana ni yo yerekana ko ari mw’ikosa, si umuntu.”
14 Amajambo yiwe ntiyayerekeje kuri jewe.
Ni co gituma ntamwishura nkoresheje ivyiyumviro vyanyu.
15 Ehe raba bajumarariwe, nta co bagifise bishura.
Nta kintu basigaranye bavuga.
16 Narindiriye ariko ntibasubiye kuvuga.
Baguma bahagaze ng’aho gusa, ata kindi bishura.
17 Nanje rero ngira mvuge,
ngira menyeshe ico nzi,
18 kuko nuzuye amajambo.
Impwemu iri muri jewe ntinkundira kunuma.
19 Imbere muri jewe hameze nk’umuvinyu utagira ihemero,
nk’imikuza mishasha y’inshato igira iturike+.
20 Nimundeke mvuge kugira nduhuke.
Ngira nteranure akanwa nishure.
21 Nta muntu n’umwe nza kugirira nkunzi+,
kandi nta we nza gusiga inkore ku maso*,
22 kuko je ntazi gusigana inkore ku maso.
Hamwe nobigira, uwandemye yoca ankuraho ubwo nyene.
33 Ariko ubu rero ga Yobu, ndakwinginze wumve amajambo yanje.
Nutege ugutwi ivyo mvuga vyose.
5 Nunyishure nimba ubishoboye.
Niwitegure unshikirize ivyiyumviro vyawe.
7 Sindagutere ubwoba rero
kandi nturengerwe n’amajambo yanje.
8 Ariko numvise ivyo wavuze.
Nagumye numva aya majambo ngo:
9 “Ndatyoroye, nta gicumuro nakoze+.
Ndera, nta kosa na rimwe mfise+.
12 Mugabo ivyo wavuze si vyo. Ngira ndakwishure rero.
Imana iraruta umuntu kure n’iyo+.
13 Kubera iki none uyidogera+?
Hoba ari kubera itakwishuye ku majambo yawe+?
14 Kuko Imana ivuga rimwe, ikavuga n’irya kabiri,
(ariko nta n’umwe avyitaho)
15 ikabigira mu ndoto, mu kubonekerwa kwo mw’ijoro+,
igihe abantu baba batwawe n’agatiro,
baryamye mu bitanda vyabo.
16 Iraheza ikugurura amatwi yabo+,
igashimangira* amategeko yayo muri bo,
17 kugira ibuze umuntu gukora ikibi+
yongere imukingire ubwishime+.
19 Umuntu kandi arakosorwa n’ububabare bwo ku gitanda ciwe,
hamwe n’ububabare budahera bw’amagufa yiwe,
20 ku buryo n’umukate* usigara umushisha,
akanka kurya n’ibifungurwa biryoshe+.
21 Umubiri wiwe uronda ugashira,
agasigara ku magufa gusa.
22 Ubuzima bwiwe bwegera icobo,
ubwiwe akegera abateza urupfu.
23 Ariko habonetse intumwa* iza kuri we,
umuvugizi umwe mu gihumbi,
kugira imubwire ingene yoba umugororotsi,
24 Imana iraheza ikamugirira ubuntu, ikavuga iti:
“Mureke ntamanuke mu cobo+!
Naronse incungu+!
26 Azotakambira Imana+, na yo imugirire ubuntu.
Azokwiha akaruru k’umunezero abonye mu maso hayo,
kandi izosubira kumubona nk’umugororotsi.
29 Emwe, Imana irakora ivyo bintu vyose,
ikabikora kabiri mbere na gatatu, ibikorera umuntu,
30 kugira imukure mu cobo,
kugira ahimbarirwe umuco w’ubuzima+.
31 Ntega ugutwi Yobu we! Nyumviriza!
Guma uhoze nanje mbandanye kuvuga.
32 Nimba hari ico ufise uvuga, nunyishure.
Nuvuge, kuko nshaka kwerekana ko uri mu kuri.
33 Nimba ata co ufise uvuga na ho, nunyumvirize.
Nucereze, nanje nkwigishe ubukerebutsi.»
34 Elihu abandanya kwishura ati:
2 «Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi.
Nimunyumve mwe muzi ibintu vyinshi.
4 Reka twisuzumire ikigororotse ico ari co,
twihitiremwo iciza ico ari co.
6 Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza nkwiriye?
Naho ata kosa mfise, igikomere canje ntigikira+.”
7 Ni nde muntu ameze nka Yobu,
agotomera agahemo nk’amazi?
10 Nimunyumvirize rero, yemwe bantu muri n’ugutegera*:
14 Hamwe yoshira umutima ku bantu,
ikisubizako impwemu yabo be n’impemu bahema+,
15 abantu bose boca bapfira rimwe,
bose boca basubira mu mukungugu+.
16 Nimba rero ufise ugutegera, nunyumvirize.
Nutege ugutwi ivyo ndakubwira.
17 Mbega umuntu yanka ubutungane yoba akwiye kuganza?
Canke wocira urubanza rubi umunyabubasha agororotse?
18 Mbega wobwira umwami ngo: “Nta co umaze”,
canke abanyacubahiro ngo: “Muri ababisha+”?
19 Hariho uwutagirira nkunzi abaganwa,
ntagirire ubutoni umutunzi ngo amurutishe umukene*+,
kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+.
20 Boshobora gupfa giturumbuka+, hagati mw’ijoro+.
Barajugumira cane maze bagacikana.
Mbere n’abanyabubasha barakurwaho, ariko bidakozwe n’amaboko y’abantu+.
23 Kuko Imana itashingiye umuntu igihe
co kurenguka mu rubanza imbere yayo.
26 Irabakubita kubera ububisha bwabo,
ikabakubitira aho abantu bose babona+,
kandi ntibiteho inzira zayo+.
28 Batuma umukene ayitabaza ariko ararira,
ku buryo yumva amarira y’abatagira gitabara+.
29 Mbega Imana ihisemwo kwihorera, ni nde yoyicira urubanza?
Ni nde yoyibona iramutse ihishije mu maso hayo?
Yaba ihahishije umuntu canke ihanga ryose, vyose ni cokimwe.
30 Ntiyemera ko umuntu atubaha Imana* aganza+
canke ngo atege imitego abantu.
31 None hari uwokwubahuka kubwira Imana ngo:
“Ndiko ndahanwa naho ata kosa nakoze+.
32 Nunyereke ivyo bintu nakoze sindabimenye.
Nimba hari ikibi nakoze, sinzogisubira”?
33 Mbega yogushumbusha uko ushatse ngo ni uko wanse urubanza rwayo?
Aho ni wewe wihitiramwo, si jewe.
Ubu rero mbwira nawe ivyo uzi.
34 Abantu bose bafise ugutegera banyumva,
mbere umuntu wese afise ubwenge anyumva, yovuga ati:
kandi amajambo yiwe nta bwenge* arimwo.”
37 Igicumuro ciwe acongerako ukugarariza+.
Akubita urushi ku rundi n’agasuzuguro imbere yacu,
akavuga amajambo menshi yo kwagiriza Imana y’ukuri+.»
35 Elihu abandanya kwishura ati:
3 Kuko uvuga ngo: “Bimaze iki*?
Hari ico nungutse ngo ni uko ntacumuye+?”
6 Mbega iyo ucumuye, uyigira iki+?
Ivyaha vyawe vyongerekanye, biyitwara iki+?
8 Ububisha bwawe bugirira nabi umuntu nkawe gusa,
n’ubugororotsi bwawe bwungura umwana w’umuntu gusa.
9 Abantu baguma batabaza kubera agahahazo gakomeye.
10 Ariko nta n’umwe abaza ati: “Imana iri hehe, Umuremyi wanje ahambaye+,
umwe atuma abantu bahibongoza uturirimbo mw’ijoro+?”
14 Hari akantu wewe uguma widoga ngo ntuyibona+!
Urubanza rwawe ruri imbere yayo, nuyirindire ubishashaye rero+.
15 Kuko itagushavuriye ngo ikubaze ivyo wakoze,
canke ngo ishire umutima ku majambo yawe yo guhuruduka+.
36 Elihu arabandanya ati:
2 «Nyihanganire kandi gatoyi ndagusigurire,
kuko ngifise ibindi mvuga ku vyerekeye Imana.
8 Ariko iyo baboheshejwe iminyororo,
bagafatwa n’imigozi y’amarushwa,
9 ica ibamenyesha ivyo bakoze,
amakosa bakoze kubera ubwishime bwabo.
11 Bagamburutse bakemera kuyikorera,
imisi yose basigaje bayimara bahimbawe,
imyaka yabo bakayimara banezerewe+.
13 Abantu batubaha Imana* bamana umwikomo.
Naho yobaboha ntibatabaza ngo ibafashe.
15 Ariko Imana itabara abarushwa mu magorwa yabo,
igatuma bayumviriza iyo bariko barahahazwa.
ikagushira ahantu hagutse, hatagira inkomanzi+,
imeza yawe ikayuzuza ibifungurwa vyizavyiza kugira iguhoze+.
18 Ariko wiyubare kugira ishavu ntiritume ukora ububisha*+,
kandi ntureke ngo igiturire kinini kiguteshe inzira.
20 Ntukipfuze ijoro,
igihe abantu baba bakamanganye mu bibanza vyabo.
22 Raba! Imana iri hejuru cane kubera ububasha bwayo.
Ni nde mwigisha ameze nka yo?
25 Abantu bose baravyihweza,
bakabirabira kure.
29 Ni nde yomenya ingene ibicu bikwiragira hose?
37 Ndavyiyumviriye umutima wanje urasimba,
ukadidagizwa ukava mu kibanza cawo.
2 Nimwumvirize neza ukwasirana kw’ijwi ryayo,
n’umuturagaro uva mu kanwa kayo.
4 Inyuma y’aho ijwi rica risamirana.
Iraturagara n’ijwi rikomeye+,
kandi uwo muravyo ntuhagarara naho ijwi ryayo riba ryumvikanye.
6 Kuko ibwira urubura* iti: “Gwa kw’isi+!”
Igategeka imvura iti: “Gwa ku bwinshi+!”
8 Ibikoko vyo mw’ishamba binyegera mu myobo yavyo
kandi bikigumira aho vyibera.
11 Ituma ibicu biremera kubera ubukanye,
igatuma imiravyo yayo+ irabagiza mu bicu.
12 Birazunguruka bikaja iyo ibirungitse,
16 Urazi ingene ibicu vyenena mu kirere+?
Ivyo ni ibikorwa bitangaje vy’umwe afise ubumenyi butagira agahaze+.
19 Tumenyeshe ivyo twoyibwira.
Ntidushobora kuyishura kuko turi mu mwiza.
20 Mbega irakeneye uwuyibwira ko nshaka kuvuga?
Canke irakeneye kumenyeshwa ivyo umuntu yavuze+?
21 Nta n’ubwo abantu bashobora kubona umuco*
naho ukayangana kw’ijuru,
kiretse haje umuyaga ugatwara ibicu biwukingiriye.
23 Ntidushobora gutahura Mushoboravyose+.
Ububasha bwiwe burarenze+,
kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe+ n’ubugororotsi bwiwe bwinshi+.
24 Abantu rero bakwiye kumutinya+.
Ntiyigera atonesha abigira abanyabwenge*+.»
38 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:
3 Kenyera zigume, uhagarare nk’umugabo.
Ngira ndakubaze, nawe unyishure.
4 Wari hehe igihe narema isi+?
Mbwira nimba ubizi.
5 Ni nde yashinze ibipimo vyayo, nimba ubizi?
Canke ni nde yafashe umugozi akayipima?
6 Inkingi zayo zihagaze ku ki?
Canke ni nde yashinze ibuye ryayo rigumya imfuruka+,
7 igihe inyenyeri zo mu gatondo+ ziha akaruru k’umunezero ziri hamwe,
8 Ni nde yatangiriye ikiyaga akoresheje imiryango+
igihe carindimuka kivuye mw’isôko ryaco?
9 Igihe nacambika ibicu,
nkagitwikira mu mwiza w’umuzitanya,
10 igihe nagishingira akarimbi,
nkagishiriraho ivyugazo n’imiryango+,
11 nkakibwira nti: “Aha ni ho uzogarukira, ntuze uharenge.
Aha ni ho imikuba yawe isuriranya izogarukira+.”
12 Mbega* warigeze uha amategeko igitondo
canke ukamenyesha umutwenzi aho utangurira+,
13 kugira ufate impera z’isi
maze ukunkumure ababisha bave kuri yo+?
14 Isi irahinduka, ikamera nk’ibumba munsi y’ikidodo,
ibiri kuri yo bikibonekeza nk’amabara y’impuzu.
18 Mbega uratahura ubwaguke bw’isi+?
Mbwira ivyo vyose nimba ubizi.
22 Mbega uramaze kwinjira mu bigega vya shelegi*+,
canke uramaze kubona ibigega vy’urubura+,
23 ivyo nabikiye igihe c’ivyago
hamwe n’umusi w’urugamba n’intambara+?
24 Umuco* ukwiragira uzananye inzira iyihe,
canke umuyaga wo mu buseruko uhuhutira kw’isi uzananye he+?
25 Ni nde yaciriye imiserege imyuzurira,
agacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+,
26 kugira agwishe imvura ahantu hataba abantu,
mu gahinga katagiramwo umuntu n’umwe+,
27 kugira ajobeke ahantu humye hakagaduka
no kugira atume hamera ivyatsi+?
29 Ni nde yavyaye ibibarafu,
canke udutete tw’urubura dukoroka tuva kw’ijuru+?
30 Ni nde atuma amazi yo mu biyaga afatana akamera nk’ibuye,
hejuru y’amazi y’ibenga hagakonja hagacika ibarafu+?
31 Mbega woshobora kuboha imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kima*,
canke ukabohora imigozi y’umugwi w’inyenyeri witwa Kesili*+?
32 Woshobora kuzana umugwi w’inyenyeri* igihe cawo kigeze,
canke ukayobora umugwi w’inyenyeri witwa Ashi* n’abana bawo?
35 Woshobora kurungika imiravyo ikagenda,
hanyuma ikagaruka ikakubwira iti: “Turi hano”?
37 Ni nde aciye ubwenge ku buryo yoharura ibicu?
Ni nde yoshobora gucuranura imibindi y’amazi yo kw’ijuru+?
38 Ni nde atuma umukungugu ucika ivyondo,
agatuma n’ibinonko vyo kw’isi bifatana?
39 Mbega woshobora guhigira intambwe ico irya?
Canke woshobora guhaza imikangara y’intambwe+,
40 igihe zibunze aho ziba
canke igihe ziryamiye mu myobo yazo?
41 Ni nde ategurira igikona ivyo kirya+
igihe ibiswi vyaco biguma bitabaza Imana,
bikaguma biyerera irya n’ino kubera vyabuze ico birya?
39 Mbega urazi igihe impene zo mu misozi zivyarira+?
Uramaze kubona impongokazi ziriko ziravyara+?
2 Mbega uramaze guharura ikiringo zimara zifise amezi?
Urazi igihe zivyarira?
3 Zirasutama kugira zivyare,
maze ububabare bwazo bugahera.
4 Imyagazi yazo irakomera kandi igakurira mu gahinga.
Irigira ntigaruke kwa nyina.
6 Nayigeneye kuba mu biyaya vy’ubugaragwa,
nshinga ko iba kw’isi y’umunyu.
7 Isuzugura urwamo rwo mu bisagara.
Ntiyumva ugukankama kw’uwuyiyoboye.
8 Ikwiragira imisozi irondera aho irisha,
ikarondera ahantu hose hari ubwatsi butoto.
9 Mbega ishuri yo mw’ishamba* yokwemera kugukorera+,
canke yokwemera kurara mu ruhongore rwawe?
11 Mbega woyizigira ngo ni uko ifise inguvu nyinshi,
ukayireka ngo ikore ibikorwa vyawe biruhisha?
13 Ikinyoni citwa imbuni kiratababiza kinezerewe,
ariko none amababa yaco hari aho ahuriye n’ay’agasoza+?
14 Gisiga amagi yaco hasi,
kikayareka agashuhira mu mukungugu.
15 Kiribagira ko ikirenge c’umuntu coyafyonyora
canke ko igikoko gishobora kuyahonyanga.
18 Ariko iyo gitababije kikiruka,
kiratwenga ifarasi n’uwuyigenderako.
19 Mbega ni wewe uha inguvu ifarasi+?
Ni wewe uyambika umugāra uhungabana?
20 Mbega wotuma itaruka nk’inzige?
Ugupfuhagira kwayo kurateye ubwoba+.
22 Iratwenga ubwoba kandi nta na kimwe itinya+.
Ntihunga kubera inkota.
23 Agasaho k’imyampi kagenda karajegera kuri yo,
amacumu agaca ibibatsi kuri yo.
25 Ijwi ry’inzamba ripfa kuvuga, na yo iti: “Ahaa!”
Imoterwa n’intambara ikiri kure cane,
ikumva urwamo rw’abakomanda n’akaruru k’intambara+.
27 Canke ni wewe utegeka inkona kuguruka mu kirere+,
ikarika icari cayo hejuru cane+?
28 Yirarira hejuru y’imanga,
ikibera ku gitandara*, ahantu hagoye gushika.
40 Yehova abandanya kwishura Yobu ati:
2 «Mbega umuntu* yohaririza Mushoboravyose+?
Uwushaka gukosora Imana niyishure+.»
3 Yobu aca yishura Yehova ati:
Ubona nokwishura iki?
Nifashe ku munwa+.
5 Navuze rimwe, ariko sinsubira kwishura.
Ahubwo ni kabiri, ariko nta kindi nongerako.»
6 Yehova araheza yishurira Yobu mu gihuhusi c’umuyaga+ ati:
8 Mbega wovuguruza* ingingo nafashe?
Wonkubita intahe mu gahanga kugira uboneke ko uri mu kuri+?
9 Woba ufise ukuboko gukomeye nk’ukw’Imana y’ukuri+?
Canke ijwi ryawe ryoshobora guturagara nk’iryayo+?
10 Ehe niwisharize ubuninahazwa n’ubukuru,
wambare iteka n’ubwiza buhebuje.
11 Nurekure ishavu ryawe ryose,
urabe umuntu wese yishira hejuru maze umushire hasi.
12 Nurabe umuntu wese yishira hejuru umucishe bugufi,
uhonyangire ababisha aho bari.
15 Ehe ng’iyi Behemoti*, iyo naremye nk’uko nawe nakuremye.
Irisha ivyatsi nka kurya kw’impfizi y’inka.
16 Raba inguvu ifise mu kiyunguyungu,
n’ukuntu ifise inda ikomeye!
17 Iradadaza umurizo ukamera nk’igiti c’isederi.
Imitsi yo ku matako yayo irasobekeranye.
18 Amagufa yayo ameze nk’umujumpu.
Amaguru yayo ameze nk’ingegene z’icuma.
20 Ibimera ku misozi ni vyo yirira,
aho ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikinira.
21 Yiryamira munsi y’uduti twitwa umukugutu,
mu gitutu c’amarenga y’ahantu hari urushanga.
23 Naho uruzi rwohumagana, yoyo ntigira ubwoba.
Iguma itekanye naho uruzi Yorodani+ rwokwisuka kuri yo.
41 Mbega woshobora gufata Lewiyatani*+ ukoresheje igera
canke ugafatira hasi ururimi rwayo ukoresheje umugozi?
3 Mbega yoguma ikwinginga igusaba imbabazi
canke ikakuvugisha n’ubwitonzi?
4 Mbega yogiranira nawe isezerano
kugira ikubere umushumba ubuzima bwayo bwose?
5 Mbega woyikinisha nk’uwukinisha inyoni?
Canke woyizirika kugira udukobwa twawe tuyikinishe?
6 Mbega abadandaza boyiciriranira?
Boyigabanganya hagati y’abacuruza?
7 Mbega urushato rwayo worushingagirako imyampi y’ingobe+
canke umutwe wayo ukawushingagirako imigera?
8 Urayishirako ukuboko urabe.
Uzokwibuka ayo wabonye, kandi ntuzopfa usubiriye!
9 Uwizigiye kuyifata yoruhira ubusa.
Uyikubise ijisho gusa woca uranduka umutima*.
10 Nta n’umwe yubahuka kuyisomborotsa.
None wumva ari nde yonyihanga+?
11 Ni nde yampaye ikintu, ku buryo mbwirizwa kukimwishura+?
Ibiri munsi y’ijuru vyose ni rwanje+.
12 Sinoreka kuvuga ibijanye n’amaguru yayo,
inguvu zayo n’umubiri wayo utangaje.
13 Ni nde yoyikurako urushato rwayo?
Iramutse yasamye, ni nde yokwinjira mu kanwa kayo?
14 Ni nde yogerageza kwasamika akanwa kayo?
Amenyo yayo yose arateye ubwoba.
16 Ibigaragamba vyose birinjiranamwo neza,
ku buryo ata muyaga uca hagati yavyo.
17 Kimwekimwe cose kirafatanye n’ikindi.
Biramatanye ku buryo ata woshobora kubitandukanya.
18 Iyo ipfushe irekura umuco,
kandi amaso yayo ameze nk’imishwarara yo mu gitondo.
19 Mu kanwa kayo havayo imiravyo,
emwe havayo udusase tw’umuriro.
20 Mu mazuru yayo hafumbukayo umwotsi,
nka kurya kw’ifuru idomekeshejwe urukangaga.
21 Impemu zayo zidomeka amakara,
kandi mu kanwa kayo havayo urubeya rw’umuriro.
22 Izosi ryayo ririmwo inguvu nyinshi,
kandi abahuye na yo bose baratekerwa n’ubwoba.
23 Inyama zo ku mubiri wayo zirafatanye cane.
Ziragumye, womenga zihometse kuri yo ku buryo zitanyiganyiga.
24 Umutima wayo ukomeye nk’ibuye,
emwe ukomeye nk’urusyo.
25 Iyo ihagurutse, n’abantu b’intwari barajugumira.
Iyo ikubise umurizo wayo barahundagara.
27 Icuma kuri yo ni nk’ivyatsi,
umujumpu na wo ni nk’igiti kiboze.
28 Ntikangwa n’umwampi.
Amabuye atewe n’umugozi ameze nk’ibishakara kuri yo.
29 Ubuhiri ibubona nk’ivyatsi,
kandi iratwenga uguhinda kw’icumu.
30 Mu nda hayo hameze nk’injo zikarishe.
Aho iciye mu vyondo womenga haciye urubaho rutonora intete*+.
31 Ibiragiza ibwina mu kiyaga nk’inkono,
igasebagiza ikiyaga nk’inkono y’amavuta.
32 Aho iciye ihasiga umurongo ukayangana,
ukamengo ikiyaga cameze imvi.
33 Kw’isi nta na kimwe kimeze nka yo.
Ni igikoko kitaremanywe ubwoba.
34 Irabana akagaye igikoko cose cishira hejuru.
Ni umwami w’ibikoko vyose vyo mw’ishamba bikaze.»
42 Maze Yobu yishura Yehova ati:
3 Wabajije uti: “Uwo ni nde atora amahinyu umugambi wanje, akavuga ibintu atazi+?”
Ni vyo naravuze, ariko navuze ntatahura
ibintu vy’agatangaza bindengeye, ibintu ntazi+.
4 Wavuze uti: “Umviriza, nanje mvuge.
Ngira nkubaze, nawe unyishure+.”
5 Nahora numva ivyawe ku matwi gusa,
ariko ubu ndakwiboneye n’amaso yanje.
7 Yehova amaze kubwira Yobu ayo majambo, Yehova abwira Elifazi w’i Temani ati:
«Ndagushavuriye cane, mwe na bagenzawe babiri+, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye+. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu. 8 Ubu rero nimutore impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi, mugende ku musavyi wanje Yobu, mushikane ikimazi giturirwa. Umusavyi wanje Yobu araza kubasengera+. Ndaheza nemere isengesho ryiwe, sindabakorere ibihuye n’ubupfu bwanyu, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu.»
9 Elifazi w’i Temani, Biludadi w’i Shuhi na Zofari w’i Nayama baca baja kwa Yobu nk’uko Yehova yabibategetse. Yehova araheza yemera isengesho rya Yobu.
10 Yobu amaze gusengera bagenziwe+, Yehova aca amukura mu ngorane yarimwo+, amusubiza n’ubutunzi bwiwe. Yehova amusubiza ivyo yari atunze vyose abigwije kabiri+. 11 Benewabo bose na bashikiwe bose n’abahora ari abagenzi biwe+ bose baza iwe, maze basangirira ibifungurwa mu nzu iwe. Batangura kumuhoza no kumuremesha ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamushikira. Umwe wese amuha amahera* n’impeta y’inzahabu.
12 Maze Yehova ahezagira Yobu mu nyuma kuruta uko yari yamuhezagiye ubwa mbere+. Yobu agira intama 14.000, ingamiya 6.000, inka 2.000 n’indogobwa zivyara 1.000+. 13 Avyara n’abandi bahungu indwi hamwe n’abandi bakobwa batatu+. 14 Umukobwa wa mbere amwita Yemima, uwa kabiri Keziya, uwa gatatu na we Kereni-Hapuki. 15 Mu gihugu cose, nta bagore banganya ubwiza n’abakobwa ba Yobu. Se araheza abaha intoranwa hamwe na basaza babo.
16 Inyuma y’ivyo Yobu abaho imyaka 140, abona abana biwe n’abuzukuru biwe gushika ku runganwe* rugira kane. 17 Amaherezo Yobu arapfa, apfa ari umutama ahimbawe*.
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «uwankwa.»
Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa zivyara.»
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «washize umutima ku.»
Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»
Canke «urabifiseko uburenganzira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkuba yakubise.»
Canke «yegeke ku Mana ibintu bitabereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «washize umutima ku.»
Canke «umuntu atagirako umugayo kandi agororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndamurotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «usinzikaze igufa ryiwe n’umubiri wiwe.»
Canke «uramufiseko uburenganzira.»
Canke «ibisebe bikomeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusi wiwe.»
Canke «yasamwe inda.»
Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»
Hari abiyumvira ko yoba ari ingona canke ikindi gikoko co mu mazi kinini kandi gikomeye.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abiyubakiye ibibanza vy’umusaka.»
Canke «uwo yakikuje uruzitiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «urarambiwe.»
Canke «abarementanya.»
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «intumwa.»
Ni agakoko kameze nk’ikinyugunyugu.
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «azogiranira isezerano nawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «riri mu mahoro.»
Canke «mporomboka.»
Canke «noramba.»
Canke «mu mujumpu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «ingenzi.»
Canke «umugwi w’ingenzi z’Abasabeya.»
Canke «gushika mu mutwenzi.»
Canke «agati.»
Mu giheburayo havuga ngo «iciza.»
Canke «yari guhaguruka ikagutabara.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagakura amajambo mu mitima yabo?»
Mu giheburayo havuga ngo «izo ni zo nzira.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «akitegereza inzu y’amabuye.»
Canke «nibamumira.»
Canke «ukwo ni ko inzira yiwe izozimangana.»
Canke «batagirako umugayo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ifate ukuboko.»
Canke «kuyiburanya.»
Canke «ikuraho.»
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Grande Ourse mu gifaransa.
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion mu gifaransa.
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Taureau mu gifaransa.
Rushobora kuba ari urukoko runini rwo mu mazi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo tuburana.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni nde yondengutsa?»
Canke «ntagirako umugayo kandi ngororotse.»
Canke «buranshisha, ndabwanse.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «umuhuza.»
Mu giheburayo havuga ngo «aturambikeko ibiganza twese.»
Mu giheburayo havuga ngo «yonkurako inkoni yiwe.»
Canke «iforomaji.»
Mu giheburayo havuga ngo «unjishisha.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «warakingiye impemu zanje», «warakingiye ubuzima bwanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi ivyo bintu wabinyegeje mu mutima wawe.»
Canke «ndyoherwe gatoyi.»
Canke «umwiza n’igitutu c’urupfu.»
Canke «wiyumvira ko umuntu yirata yoba mu kuri?»
Canke «inyigisho yanje.»
Canke «kumenya akarimbi ka.»
Canke «ivutse ari umuntu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni mwe muri abantu.»
Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
Canke «abadashikamye», «abanyerera.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nuvugane n’isi.»
Canke «impemu.»
Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Canke «bambuwe ivyabo vyose.»
Canke «abakurambere.»
Mu giheburayo havuga ngo «igatuburura umukaba w’abantu bakomakomeye.»
Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
Canke «mwoyigirira nkunzi.»
Canke «y’intibagirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «imikondo y’inkinzo zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuki notwara inyama z’umubiri wanje mu menyo.»
Canke «ndayirindiriye.»
Canke «nzoburanira inzira zanje.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe yoboneka, noca numa ngapfa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibi bintu bibiri gusa ntubinkorere.»
Canke «warashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
Uwo muntu ashobora kuba ari Yobu.
Canke «amaganya.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «rigaca ricibwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukanshengeza.»
Canke «imisi yose y’igikorwa canje c’agahato.» Ni ukuvuga mu kuzimu.
Canke «ibintu bitagiramwo ubwenge.»
Canke «kuko amakosa yawe ari yo yigisha akanwa kawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «aberanda.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Canke «gutsinda.»
Mu giheburayo havuga ngo «yitwaje imikondo ivyibushe y’inkinzo yiwe.»
Canke «ibinyonyori.»
Ni ukuvuga ko ata cizigiro afise co gusubirana.
Umwelayo bawita kandi olive.
Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «amajambo y’umuyaga.»
Canke «uruhoza rw’iminwa yanje.»
Canke «abahora bakoranira hamwe nanje.»
Canke «amenyo.»
Canke «inkomezi.» Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Canke «apfutswe n’igitutu c’urupfu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ijisho ryanje riguma riraba Imana ata kugoheka.»
Mu giheburayo havuga ngo «iciro ry’umugani.»
Canke «bisigaye ari igitutu.»
Canke «abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «w’amaboko adahumanye.»
Canke «imva.»
Canke «niwerekane ugutegera.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ko duhumanye.»
Canke «ku mwami w’ibica ivutu.»
Canke «batari abiwe.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
Mu giheburayo havuga ngo «nta zina azogira.»
Canke «aho yahora acumbitse.»
Canke «mumpambarira.»
Canke «incuti zanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’inda yanje», ni ukuvuga inda yamvyaye (inda ya mama).
Mu giheburayo havuga ngo «mpunganye urukoba rw’amenyo yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimuhage inyama zanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
Mu giheburayo havuga ngo «ku mukungugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje yananiwe.»
Canke «kumpambarira.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu ivuye mu gutegera kwanje.»
Canke «Adamu», «umuryango w’abantu.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «indugwe y’incira.»
Mu giheburayo havuga ngo «ururimi.»
Canke «camutobekeranije indugwe.»
Canke «abantu bakomeye.»
Canke «mu kanya gato.» Ni ukuvuga gupfa ningoga utarinze kubabara.
Canke «impanuro», «amayeri.»
Mu giheburayo havuga ngo «anywa.»
Canke «uworonsa Imana ubumenyi.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’umusokoro w’amagufa yabo ubomvye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yo kungirira nabi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibimenyetso vyabo.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «azokwegera inyuma yiwe abantu bose.»
Canke «yoba afise ugutahura kwimbitse.»
Canke «bwoba buhimbara Mushoboravyose?»
Mu giheburayo havuga ngo «ukambura impuzu abari gusa.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitego y’inyoni.»
Canke «ku muzingi.»
Canke «bamwe urupfu rwakubiranya.»
Mu giheburayo havuga ngo «uruzi.»
Canke «mu myonga.»
Canke «abunamika amaso.»
Canke «ugutakamba kwanje kubonwa nk’ukugarariza.»
Canke «ivyo nashingiwe.»
Canke «yanshingiye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kwahira ubwatsi bw’ibitungwa.»
Herekeza ku mwana atagira se.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «birirwa barakanya amavuta hagati y’impome z’imikobeko.»
Mu giheburayo havuga ngo «baraganisha ibirenge.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko Imana nta we yagiriza ikibi.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «inda zabavyaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzira zabo zose.»
Mu giheburayo havuga ngo «ahantu hayo iyo hejuru.»
Canke «uwutyoroye.»
Canke «ntizityoroye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni impemu za nde zikuvuyemwo?»
Canke «irabona n’ikibanza c’agatikizo», «Abadoni.» Raba Insiguro y’amajambo (Abadoni).
Mu giheburayo havuga ngo «isanza uburaruko.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaciye umuzingi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Rahabu.»
Canke «umuyaga.»
Canke «inyerera.»
Canke «ntiyambuye.»
Canke «uncokora.»
Canke «imisi yose nzoba nkiriho.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ndabigishe biciye ku kuboko kw’Imana.»
Canke «bazohambwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazokubita amashi ku yandi, bamuvugirize agahwa bari aho bibera.»
Mu giheburayo havuga ngo «amabuye.»
Hashobora kuba herekeza ku bikorwa bijanye no gucukura ubutare.
Canke «ityoroye.»
Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.
Mu giheburayo havuga ngo «agatikizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «uburemere.»
Canke «abasuku.»
Canke «amavuta y’inka.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «ikinyegeza.»
Canke «ikanzu itagira amaboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu cari canje.»
Canke «umuheto uri mu kuboko kwanje uzoguma urasa.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaratonyangira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntibazimya umuco wo mu maso hanje.»
Ni uduti two mu bugaragwa
Canke «mu myonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «bomojwe inkoni.»
Canke «batagira izina.»
Mu giheburayo havuga ngo «iciro ry’umugani.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaregeje umugozi w’umuheto wanje.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ata wurinze kubafasha.»
Mu giheburayo havuga ngo «aratobagurwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyago vyanje bikomeye vyampinduye isura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ukansavya nkazimangana.»
Mu giheburayo havuga ngo «gukubita ikirundo c’ibihomvagurike.»
Canke «abariko baca mu bihe bigoye.»
Mu gifaransa ni autruche.
Mu giheburayo havuga ngo «umwigeme w’isugi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «narigeze ngendana n’ababeshi?»
Canke «abankomokako nibarandurwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «abandi bagabo nibamupfukameko.»
Canke «ukarandura umwimbu wanje wose.»
Bari abashumba b’abagabo canke b’abagore.
Canke «igihe twari dufitaniye urubanza.»
Mu giheburayo havuga ngo «impagurukiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «si we yatubumbiye mu nda twese?»
Mu giheburayo havuga ngo «ngatuma amaso y’umupfakazi ayama.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuva nkiva mu nda ya mama.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimba ikiyunguyungu ciwe kitampezagiye.»
Canke «gukangisha ingumu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi mbona yuko mfise uburyo mw’irembo ry’igisagara.»
Canke «ibega.»
Canke «nigutane n’igufa ryakwo ryo hejuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuco.»
Mu giheburayo havuga ngo «inyama.»
Canke «nokwanditse izina ryanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «muto mu misi.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»
Canke «ugutegera.»
Canke «yashoboye gukosora Yobu.»
Canke «nta we mpa icubahiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ururimi rwanje n’amagage yanje.»
Canke «yarashize amaguru yanje mu mpatane z’ibiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Impatane z’ibiti).
Mu giheburayo havuga ngo «igashira ikidodo ku.»
Canke «imva.»
Canke «ikirwanisho (ikirwanisho batera).»
Mu giheburayo havuga ngo «ubuzima.»
Canke «umumarayika.»
Canke «nugire amagara meza.»
Mu giheburayo havuga ngo «azoririmbira.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko nta co vyamariye.»
Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
Canke «isi ibako abantu.»
Canke «uwuhambaye ngo amurutishe uwuciye bugufi.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «nta gutahura kwimbitse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Dawe, Yobu nagezwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bimaze iki ku Mana?»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Canke «ntiyumviriza ibinyoma.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yicarika abami ku ntebe z’ubwami.»
Canke «ikirwanisho (ikirwanisho batera).»
Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Mu giheburayo havuga ngo «mu bamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «ntiritume ukoma amashi kubera inzigo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yotora amahinyu», «yoyisaba gusigura.»
Canke «guserangura.»
Mu giheburayo havuga ngo «urusago.»
Mu giheburayo havuga ngo «isanza umuco.»
Mu giheburayo havuga ngo «imizi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ikoresha mu kuburanira abantu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibigira bize.»
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «ishira ikidodo ku maboko y’abantu bose.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «itegeka.»
Canke «guhondagura.»
Ni ukuvuga umuco w’izuba.
Mu giheburayo havuga ngo «inkerebutsi mu mutima wabo.»
Canke «impanuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «abana b’Imana.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yawe.»
Canke «ukuboko kwabo kudugije kuba kuvunitse.»
Canke «igitutu c’urupfu.»
Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»
Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuravyo.»
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Taureau mu gifaransa.
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion mu gifaransa.
Mu giheburayo havuga ngo «Mazaroti.»
Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Grande Ourse mu gifaransa.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amategeko y’Imana.»
Canke «ubukerebutsi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yashize ubwenge mu muntu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yahaye umuzirikanyi ugutahura.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «gusiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbuto.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Mu giheburayo havuga ngo «yatumye cibagira.»
Canke «gutegera.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikaja gusanganira ibirwanisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «imira isi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «iraryoherwa.»
Canke «ugutegera.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku ryinyo ry’igitandara.»
Canke «umuntu atorana amahinyu.»
Canke «wohindura ubusa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ubohe mu maso habo.»
Canke «ndagukeze.»
Ishobora kuba ari imvubu.
Mu giheburayo havuga ngo «ni yo ntango.»
Canke «mu mubande.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutego.»
Ishobora kuba ari ingona.
Mu giheburayo havuga ngo «urukangaga.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihwa.»
Canke «woca ugwa hasi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imirongo y’ibigaragamba vyayo ni yo bwibone bwayo.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
Canke «nisubiyeko.»
Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»