INDIRIMBO YA SALOMO
1 Indirimbo nziza kuruta izindi*, ikaba ari iya Salomo+:
3 Akamoto k’amavuta yawe ni keza cane+.
Izina ryawe rimeze nk’amavuta amota basuka ku mutwe+.
Ni co gituma abakobwa bagukunda.
Kuko umwami yanyinjije mu vyumba vyiwe!
Reka turyoherwe, tunezeranwe.
Duhayagize* urukundo rwawe kuruta umuvinyu.
Ni co gituma bagukunda*.
5 Mwa bakobwa b’i Yeruzalemu, ndirabura ariko ndi mwiza.
Meze nk’amahema y’i Kedari+, nk’ibitambara vy’amahema+ ya Salomo.
6 Ntimundabe cane ngo ni uko nirabura,
ngo ni uko izuba ryambabuye.
Basazanje baranshavuriye,
baca bandungika gucunga imirima y’imizabibu,
ariko umurima wanje bwite sinawucunze.
Kubera iki noba nk’umugore yitwikiriye*
hagati y’ibitungwa vya bagenzawe?»
8 «Nimba utahazi, ga mwigeme mwiza kuruta abandi bose,
nukurikire inzira ibitungwa vyaciyemwo,
uragire imyagazi yawe y’impene iruhande y’amahema y’abungere.»
9 «Rukundo rwanje, uri mwiza nk’ifarasi* iboheye ku mikogote ya Farawo+.
15 «Uri mwiza rukundo rwanje!
Uri mwiza cane! Amaso yawe asa n’ay’inuma+.»
16 «Mukunzi wanje, uri mwiza kandi urahimbaye+.
Amababi y’ibiti atibagurika mw’ishamba ni yo gitanda cacu.
2 «Kurya kw’ishurwe ry’ilisi mu mahwa,
ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bakobwa.»
3 «Kurya kw’igiti c’ipome mu biti vyo mw’ishamba,
ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bahungu.
Ndipfuza cane kwicara mu gitutu ciwe,
kandi icamwa ciwe kirandyohera.
4 Yanyinjije mu nzu iberamwo imisi mikuru*,
kandi urukundo rwiwe rwari rumeze nk’akadarapo hejuru yanje.
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.
8 Umve ijwi ry’umukunzi wanje!
Ehe ng’uyo araje,
aje araduga imisozi, asimba imirambi.
9 Umukunzi wanje ameze nk’ingeregere, nk’impongo ikiri nto+.
Ehe ng’uriya, ahagaze inyuma y’uruhome rwacu.
Aguma arungurukira mu madirisha,
acishije mu tuyungiro.
10 Umukunzi wanje aramvugisha, akambwira ati:
“Haguruka rukundo rwanje!
Ingo tujane mwiza wanje!
11 Raba urushana* rwarenganye.
Imvura yahise kandi yaheze.
12 Amashurwe yabonetse mu gihugu+,
igihe co gututura cageze+,
kandi uturirimbo tw’inuma twatanguye kwumvikana mu gihugu cacu+.
Haguruka uze rukundo rwanje!
Ingo tujane mwiza wanje!
14 Ewe numa yanje yibera mu myobo y’ibitandara+,
mu tunogo tw’ahantu h’ibimanga,
nshaka kukubona no kwumva akajwi kawe+,
kuko akajwi kawe karyoshe kandi ukaba uteye igomwe+.”»
15 «Nimudufatire za mbwebwe,
twa tubwebwe dutoduto twonona imirima y’imizabibu,
kuko imirima yacu y’imizabibu yashuritse.»
16 «Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe+.
Aragiye ibitungwa vyiwe+ mu mashurwe y’amalisi+.
17 Garuka ningoga, mukunzi wanje,
akayaga kataratangura guhuhuta* n’ibitutu ngo bihunge!
Nurengane imisozi idutandukanya* nk’ingeregere+ canke impongo ikiri nto+.
Naramurondeye ariko sinamuronka+.
2 Naciye nibwira nti: “Ngira mvyuke, ntembere mu gisagara.
Ngira ndondere umukunzi wanje,
mu mabarabara no mu bibanza rusangi.”
Naramurondeye ariko sinamuronka.
3 Inderetsi zari kw’irondo mu gisagara zarambonye+, nca ndazibaza nti:
“Hari umukunzi wanje mwamboneye?”
4 Napfuye kubarengana,
nca ndabona umukunzi wanje.
Naciye ndamwumirako, sinamureka ngo agende,
gushika ndamuzanye mu nzu ya mawe+,
mu cumba c’uwanyibarutse.
5 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije
ingeregere n’impongokazi zo mw’ishamba:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
6 «Kirya ni igiki kiriko kiraduga mu bugaragwa nk’inkingi z’umwotsi,
kimota imira* n’imibavu
n’amapuderi yose amota y’abadandaza+?»
Ikikujwe n’abagabo 60 b’intwari,
abagabo b’intwari bo muri Isirayeli+.
8 Bose bafise inkota,
kandi bose barigishijwe kurwana.
Umwe wese afise inkota kw’itako
kugira bikingire ivyobatera mw’ijoro.»
10 Inkingi zayo yazikoze mw’ifeza,
ivyo yishimikiza na vyo mu nzahabu.
Ivyo yicarako bikozwe mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
Abakobwa b’i Yeruzalemu
basharije imbere muri yo babigiranye urukundo.»
11 «Nimusohoke yemwe bakobwa b’i Siyoni,
mwitegereze umwami Salomo!
Yambaye urugori rw’ubugeni* nyina wiwe+ yamukoreshereje
ku musi w’ubugeni bwiwe,
ku musi wahimbaye umutima wiwe.»
4 «Uri mwiza rukundo rwanje!
Uri mwiza cane!
Amaso yawe asa n’ay’inuma mu gitambara witwikiriye.
Imishatsi yawe imeze nk’ubusho bw’impene
buriko buramanuka imisozi y’i Gileyadi+.
2 Amenyo yawe ameze nk’ubusho bw’intama bahejeje kumwa,
ziriko ziraduga zivuye aho bazogereza.
Zose zifise amahasa,
kandi nta n’imwe yabuze imyagazi yayo.
Amatama* yawe ameze nk’igihimba c’ikomamanga
mu gitambara cawe witwikiriye.
4 Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara wa Dawidi+,
wubatswe n’amabuye atonze ku mirongo
amanitsweko inkinzo igihumbi,
inkinzo zose z’umuzingi z’abarwanyi b’intwari+.
5 Amabere yawe abiri ameze nk’imyagazi ibiri,
amahasa y’ingeregere+
ariko ararisha mu mashurwe y’amalisi.»
6 «Ngira nigire ku musozi w’imira*
no ku mutumba uriko imibavu+,
akayaga kataratangura guhuhuta* n’ibitutu ngo bihunge.»
Manuka uve kw’isonga ry’umusozi Amana*,
kw’isonga rya Seniri, isonga rya Herumoni+,
ahantu intambwe zirara, imisozi ingwe ziberamwo.
9 Ewe mushikanje, mugeni wanje, warantwaye umutima+.
Warantwaye umutima igihe nakubita ijisho amaso yawe,
nkabona n’agasharizo kamwe gusa k’umugufu wawe.
10 Ese ukuntu urukundo rwawe ruryoshe+, ewe mushikanje, mugeni wanje!
Urukundo rwawe ruraruta umuvinyu kure n’iyo+,
kandi akamoto k’amavuta yawe karuta ibintu vyose bimota neza+!
11 Mugeni wanje, iminwa yawe itonyanga ubuki bwo mu kimamara+.
Ubuki n’amata biri munsi y’ururimi rwawe+,
kandi akamoto k’impuzu zawe kameze nk’akamoto ka Libani.
12 Mushikanje, umugeni wanje, ameze nk’umurima uzitiye,
emwe umurima uzitiye n’iriba ry’amazi ryugaye.
13 Imivyaro* yawe ni iparadizo* y’amakomamanga,
irimwo ivyamwa vyizavyiza biri kumwe n’uduti tw’ihina n’utwitwa narada,
14 narada+ na habasereti, kanehe*+ na kanele*+,
ubwoko bwose bw’ibiti vy’imibavu, imira n’ingagari+,
hamwe n’ubwoko bwose bw’ibiterwa bimota neza cane+.
16 Ikangure wa muyaga wo mu buraruko!
Ingo wa muyaga wo mu bumanuko!
Nimuhuhutire* ku murima wanje.
Akamoto kawo nigakwiragire hose.»
«Umukunzi wanje naze mu murima wiwe,
yirire ivyamwa vyawo vyizavyiza.»
Namuye imira* n’utwatsi tumota neza+.
Nariye ubuki bwanje n’ikimamara canje.
Nanyoye umuvinyu wanje n’amata yanje+.»
«Nimwirire bagenzi bacu!
Nimwinywere kandi muborerwe urukundo+!»
2 «Ndasinziriye, ariko umutima wanje uri maso+.
Ndumva umukunzi wanje ariko aradodora!
“Nyugururira mushikanje, mukunzi wanje,
numa yanje, mugenzi wanje atagira akanenge!
Kuko umutwe wanje wajovye kubera urume,
umushatsi wanje wajovye kubera utumatuma two mw’ijoro+.”
3 Namaze kwambura ikanzu yanje.
None nsubire kuyambara?
Namaze kwoga ibirenge.
None nsubire kubicafuza?
4 Umukunzi wanje yasokoye ukuboko mu ntoboro y’umuryango,
umutima wanje uca uramvamwo.
5 Navyutse ngo nugururire umukunzi wanje,
amaboko yanje aca ajojota imira,
intoke zanje na zo zijojota amazi y’imira,
bijojotera ku mikono y’ivyugazo.
6 Nugururiye umukunzi wanje,
ariko nsanga yasubiye inyuma, yagiye.
Naravunitse umutima nsanze yagiye*.
Naramurondeye ariko sinamubona+.
Naramuhamagaye ariko ntiyanyishuye.
7 Inderetsi zari kw’irondo mu gisagara zarambonye.
Zarankubise, zirankomeretsa.
Inderetsi zicunze impome zarantwaye umwitwikiro wanje*.
8 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije:
nimwabona umukunzi wanje,
mumubwire ko ndwaye urukundo.»
9 «Umukunzi wawe arusha iki abandi bakunzi,
ga mwigeme mwiza kuruta abandi bose?
Umukunzi wawe arusha iki abandi bakunzi,
ku buryo uturahiza indahiro nk’iyo?»
10 «Umukunzi wanje arayagayaga kandi ari inzobe.
Aribonekeza iyo ahagaze mu bantu ibihumbi cumi.
11 Umutwe wiwe ni inzahabu, inzahabu ityoroye.
Imishatsi yiwe imeze nk’amababi y’ibigazi ariko arahungabana*,
kandi irirabura nk’igikona.
12 Amaso yiwe ameze nk’inuma ziri iruhande y’imigezi y’amazi,
ziriko ziroga mu mata,
zicaye iruhande y’ikinogo cuzuye amazi*.
Iminwa yiwe imeze nk’amashurwe y’amalisi kandi itonyanga amazi y’imira+.
14 Intoke ziwe ni udukoni tw’inzahabu turiko utubuye twitwa kirizolito.
Inda yiwe ni amasenge* asenye neza ashasheko amabuye ya safiro.
15 Amaguru yiwe ni inkingi z’amabuye meza cane* zishinze mu tugata tw’inzahabu ityoroye.
Asa na Libani, ubwiza ntangere bw’amasederi+.
Uyo ni we mukunzi wanje, uwo nikundira, emwe bakobwa b’i Yeruzalemu!»
6 «Ewe mwigeme mwiza kuruta abandi bose,
umukunzi wawe yagiye hehe?
Umukunzi wawe yajanye inzira iyihe?
Reka tugufashe kumurondera.»
2 «Umukunzi wanje yamanutse mu murima wiwe,
mu murima uteyemwo ibintu bimota neza,
kuragira ibitungwa vyiwe mu mirima
no kwaha amashurwe y’amalisi+.
Aragiye ibitungwa vyiwe mu mashurwe y’amalisi+.»
4 «Mukunzi wanje+, uri mwiza nka Tiruza*+,
uteye igomwe nka Yeruzalemu+,
uteye akoba nk’ingabo zikikuje amabendera yazo+.
Imishatsi yawe imeze nk’ubusho bw’impene
buriko buramanuka imisozi y’i Gileyadi+.
6 Amenyo yawe ameze nk’ubusho bw’intama
ziriko ziraduga zivuye aho bazogereza.
Zose zifise amahasa,
kandi nta n’imwe yabuze imyagazi yayo.
9 ariko umwe gusa ni we ari inuma yanje+, umugenzi wanje atagira akanenge.
Nta wundi ameze nka we mu maso ya nyina.
Ni we wenyene atonye* ku wamwibarutse.
Abakobwa baramubona bakavuga ko ahiriwe,
abamikazi n’incoreke na bo bakamuhayagiza.
10 “Ni nde urya mugore yakaka* nk’umutwenzi,
mwiza nk’ukwezi kw’igisyo,
atyoroye nk’umuco w’izuba,
kandi ateye akoba nk’ingabo zikikuje amabendera yazo+?”»
11 «Namanutse mu murima w’ibiti vyama imise+
kuraba imivyaro mishasha mu mwonga*,
kuraba ko imizabibu yanaze*
n’uko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse.
13 «Garuka, garuka, Mushulamukazi we!
Garuka, garuka,
kugira tukwitegereze!»
«Kubera iki mwitegereza Umushulamukazi+?»
«Ameze nk’intambo y’amakambi abiri*!»
Amatako yawe ameze nk’udusharizo
twakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene.
2 Umukondo wawe umeze nk’ibakure ifukuye.
Ese itokwigera iburamwo umuvinyu uvanze.
Inda yawe ni ikirundo c’ingano,
gikikujwe n’amashurwe y’amalisi.
4 Izosi ryawe+ rimeze nk’umunara w’amasenge*+.
Izuru ryawe rimeze nk’umunara w’i Libani,
uraba i Damasiko.
5 Umutwe wawe ni mwiza nk’umusozi Karumeli+,
kandi umushatsi+ wo ku mutwe wawe umeze nk’ubwoya busa n’umuyugubwe*+.
Umwami yaratwawe umutima* n’ibisuko vyawe birebire.
6 Ewe mukobwa nikundira, ese ukuntu uri mwiza!
Urateye igomwe kuruta ibintu vyose bihimbaye!
8 Navuze nti: “Ngira nurire ico kigazi,
mfate udushami turiko ivyamwa vyaco.”
Ese amabere yawe yomera nk’imisoko y’inzabibu,
impemu zawe zikamota nk’ivyamwa vy’amapome,
9 akanwa* kawe na ko kakamera nk’umuvinyu mwiza kuruta iyindi.»
«Ese woshunguruka neza mu muhogo w’umukunzi wanje,
nk’akavinyu gatemba bukebuke ku minwa y’abasinziriye.
12 Reka tuzinduke, twigire mu mirima y’imizabibu,
tuje kuraba ko imizabibu yanaze*,
ko amashurwe yasambuye+
be n’uko ibiti vy’amakomamanga vyashuritse+.
Aho ni ho nzokwerekera urukundo ndagufitiye+.
Ivyamwa bishasha be n’ivya kera,
vyose narabikubikiye, mukunzi wanje.
8 Ese iyaba wari nka musazanje,
yonse amabere ya mawe!
Nari kugusanga hanze nkagusoma+,
kandi nta n’umwe yari kunsuzugura.
Nari kuguha umuvinyu urimwo ibimota,
umutobe mushasha w’amakomamanga.
4 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
5 «Uwo mukobwa ariko aduga mu bugaragwa
yegamiye umukunzi wiwe ni nde?»
«Nagukanguye uri munsi y’igiti c’amapome.
Aho ni ho nyoko wawe yafatiwe n’ibise vy’inda yawe.
Aho ni ho uwakwibarutse yafatiwe n’ibise.
6 Nunshire ku mutima wawe nk’ikidodo,
nk’ikidodo ku kuboko kwawe,
kuko urukundo rukomeye nk’urupfu+,
ukudahemuka na kwo kugakomera nk’ukuzimu.
Imbeya zarwo ni umuriro ururumba, urubeya rwa Yehova*+.
Naho umuntu yotanga ubutunzi bwose afise mu nzu yiwe kugira agure urukundo,
abantu bobusuzugura* cane.»
Tuzomugirira iki
umusi bazomusaba?»
9 «Niyaba ari uruhome,
tuzomwubakako umunara w’ifeza.
Mugabo niyaba ari umuryango,
tuzomuzibiza urubaho rw’isederi.»
10 «Ndi uruhome,
kandi amabere yanje ameze nk’iminara.
Ni co gituma igihe andavye
abona ko mfise amahoro.
11 Salomo yari afise umurima w’imizabibu+ i Bayali-Hamoni.
Uwo murima yawujeje abawitwararika,
kandi umwe wese yaza aramuha ifeza igihumbi kubera umwimbu wawo.
12 Ndifitiye umurima wanje w’imizabibu.
Ewe Salomo, izo feza igihumbi* ni rwawe,
amajana abiri na zo ni iz’abitwararika umwimbu wawo.»
kandi na jewe ndashashaye kukumva+.»
14 «Nyaruka mukunzi wanje,
wiruke nk’ingeregere+
canke impongo ikiri nto,
ku misozi imerako ibiterwa bimota neza.»
Canke «indirimbo y’agaheta.»
Canke «nunkwege unjane.»
Canke «tuyage.»
Ni ukuvuga ba bakobwa.
Canke «yambaye umwitwikiro w’ikigandaro.»
Canke «nk’ifarasi yanje y’ingore.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu bisuko vy’imishatsi yawe.»
Canke «ingori.»
Mu giheburayo havuga ngo «narada yanje.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «nk’umusoko w’ihina.»
Canke «inzu yacu nziza.»
Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’umuvinyu.»
Canke «igihe c’imvura.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusi utaratangura guhuhuta.»
Canke «imisozi ya Beteri.» Insobanuro y’ijambo Beteri ntizwi neza.
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Ni inderuzo imeze nk’intebe yakoreshwa mu kurerura abanyacubahiro.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «urugori rw’amashurwe.»
Canke «rusa n’agahama.»
Canke «imisaya.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «umusi utaratangura guhuhuta.»
Canke «Anti-Libani.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urukoba.»
Canke «umurima.»
Kanehe ni ubwoko bw’amarenga amota.
Canke «n’umudarasini.»
Canke «nimuhuhere.»
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «numvise avuze, umutima waciye umvamwo.»
Canke «agatambara nipfuka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imeze nk’imisoko y’amatende.» Amatende ni ubwoko bw’ikigazi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «zicaye ku nkombe z’ikinogo c’amazi.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Canke «amabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.
Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Canke «nk’igisagara giteye igomwe.»
Canke «imisaya.»
Mu giheburayo havuga ngo «atyoroye.»
Mu giheburayo havuga ngo «araba hasi.»
Canke «mu mubande.»
Canke «yameze.»
Canke «icipfuzo canje.»
Canke «y’abantu b’umutima ukunze.»
Canke «nk’intambo ya Mahanayimu.»
Canke «mu masandari.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Canke «yaragizwe imbohe.»
Amatende ni ubwoko bw’ikigazi.
Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Canke «yameze.»
Vyari ivyamwa abantu biyumvira ko bifasha kurondoka.
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bomusuzugura.»
Mu giheburayo havuga ngo «ico gihumbi.»