YEREMIYA
1 Ng’aya amajambo ya Yeremiya* mwene Hilikiya, umwe mu baherezi b’i Anatoti+ mu karere ka Benyamini. 2 Yehova yavuganye na we mu gihe ca Yosiya+ mwene Amoni+, umwami w’Ubuyuda, mu mwaka ugira 13 aganza. 3 Yavuganye na we kandi mu gihe ca Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, gushika harangiye umwaka ugira 11 w’intwaro ya Zedekiya+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, gushika ab’i Yeruzalemu bagiye mu bunyagano mu kwezi kugira gatanu+.
4 Yehova ambwira ati:
Nakugize umuhanuzi ku mahanga.»
6 Mugabo mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova,
sinzi kuvuga+. Ndacari muto*+.»
7 Maze Yehova ambwira ati:
«Ntuvuge ngo: “Ndacari muto”,
kuko uzoja ku bantu bose nzogutumako,
ukababwira ivyo nzoba nagutegetse vyose+.
8 Ntuze uterwe ubwoba n’ukuntu baboneka+,
kuko “ndi kumwe nawe kugira nkurokore+”, ni ko Yehova avuze.»
9 Yehova aca aramvura ukuboko ankora ku munwa+. Maze Yehova ambwira ati: «Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+. 10 Raba uyu musi ndaguhaye ubukuru ku mahanga no ku bwami, kugira ngo urandure, usiturire hasi, utikize, usambure, wubake kandi uteragire+.»
11 Yehova yongera kumbwira ati: «Ubona iki ga Yeremiya?» Nanje nti: «Mbona agashami k’igiti ca shakedi*.»
12 Yehova ambwira ati: «Ubonye vyo, kuko ndi maso cane ku bijanye n’ijambo ryanje kugira ndarishitse.»
13 Yehova ambwira ubugira kabiri ati: «Ubona iki?» Nanje nti: «Mbona inkono* ibira*. Ivuye mu buraruko, umunwa wayo ukaba uhengamiye mu bumanuko.» 14 Yehova aca ambwira ati:
«Ivyago bizorindimuka bize ku baba mu gihugu bose
bivuye mu buraruko+.
15 Kuko “ngira ntumeko imiryango yose y’ubwami bwo mu buraruko”, ni ko Yehova avuze+, “kandi izoza.
Umwami wese azoshira intebe yiwe y’ubwami
ku marembo ya Yeruzalemu+,
atere inzitiro zayo zihakikuje
n’ibisagara vyose vy’Ubuyuda+.
16 Nzoshikiriza imanza naciriye abantu banje kubera ububisha bwabo bwose,
kuko bampevye+
kandi bakaba bashikanira ibimazi izindi mana bigafumba umwotsi*+,
bakunamira ivyakozwe n’amaboko yabo bwite+.”
Nturanduke umutima kubera bo+,
kugira sintume uranduka umutima imbere yabo.
18 Kuko uyu musi nkugize igisagara gikingijwe ibihome,
nkakugira n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’umujumpu imbere y’igihugu cose+,
imbere y’abami b’Ubuyuda, abatware baho,
abaherezi baho n’abanyagihugu baho+.
19 Ntibazobura kukurwanya
mugabo ntibazokunesha,
kuko “ndi kumwe nawe+ kugira nkurokore”, ni ko Yehova avuze.»
2 Yehova yambwiye ati: 2 «Genda utangarize Yeruzalemu uti: “Yehova avuze ati:
‘Ndibuka neza ukuntu wanyiyumvamwo cane* ukiri muto+,
nkibuka urukundo wankunda igihe nari ndakureheje+
n’ingene wankurikiye igihe nagucisha mu bugaragwa,
mu gihugu batabibamwo imbuto+.
3 Isirayeli yari ikintu ceranda kuri jewe Yehova+, umwimbu wanje wa mbere.’”
“Uwo wese yarondera kumurotsa yaba yikwegeye icaha.
Ivyago vyaramuzako”, ni ko Yehova avuze+.»
4 Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe abakomoka kuri Yakobo,
namwe miryango y’ihanga rya Isirayeli mwese.
5 Yehova avuze ati:
«Ni ikosa irihe ba sogokuruza banyu bambonyeko+,
ku buryo baja kure yanje,
bagakurikira ibigirwamana ata co bimaze+, na bo ubwabo bagasigara ata co bamaze+?
6 Ntibabajije bati: “Yehova ari hehe,
Umwe yadukura mu gihugu ca Misiri+,
akaducisha mu gahinga,
mu gihugu c’ubugaragwa+ n’ivyobo,
mu gihugu c’uruzuba+ n’umwiza w’umuzitanya,
mu gihugu abantu badacamwo
canke ngo babemwo?”
7 Naciye ndabazana mu gihugu c’imirima y’ivyamwa,
kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+.
Mugabo mwaraje muhumanya igihugu canje.
Icibare canje mwakigize ikintu gishisha+.
8 Abaherezi ntibabajije bati: “Yehova ari hehe+?”
Abajejwe amategeko ntibamenye.
Abungere barangararije+,
abahanuzi na bo bavuga ubuhanuzi mw’izina rya Bayali+,
bakurikira imana ata co zobamariye.
10 “Enda nimujabuke muje mu mazinga* y’i Kitimu+ mwirabire.
Emwe, nimurungike intumwa i Kedari+ maze muvyihweze mwitonze,
murabe ko hari ikintu nk’iki cabaye.
11 Mbega hari ihanga ryigeze gukaba imana zaryo, rikazikaba ibitari imana?
Mugabo abantu banje bwite bafashe ubuninahazwa bwanje babukaba ibitagira akamaro+.
12 Ewe wa juru we, nubirabe wumirwe.
Hinda agashitsi utekerwe n’ubwoba budasanzwe”, ni ko Yehova avuze,
13 “kuko abantu banje bakoze ibintu bibiri bibi:
barampevye, jewe soko ry’amazi y’ubuzima+,
bongera biyimbira* amatangi,
amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.”
14 “Mbega Isirayeli ni umusuku canke umushumba yavukiye mu rugo?
Kubera iki none yasahuwe?
Zatumye igihugu ciwe gicika akajoreza.
Ibisagara vyiwe vyaraturiwe, bisigara ata wubibamwo.
16 Abantu b’i Nofu*+ n’i Tahapanesi+ barisha ku mutwe wawe.
17 None ivyo si wewe wavyikwegeye
mu guheba Yehova Imana yawe+
kandi ari we yari akuyoboye mu nzira ucamwo?
19 Ububisha bwawe bwari bukwiye kugukosora,
ubuhemu bwawe bukagutoza indero.
Numenye rero wongere utahure yuko guheba Yehova Imana yawe
ari ikintu kibi kandi kibishe+.
Ntiwerekanye ko untinya+”, ni ko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze.
Mugabo wavuze uti: ‘Sinzogukorera.’
Nkako waryama utambikije ku murambi muremure wose no munsi y’igiti gitotahaye cose+,
ukora ubumaraya+.
21 Naguteye uri umuzabibu mwiza utukura+, wose ugizwe n’imbuto zirobanuye.
None vyagenze gute ngo uhinduke umbere imivyaro y’umuzabibu w’icaduka+?”
22 “Naho wokwiyuhagiza ivyitwa alikali*, ugakoresha n’isabuni nyinshi,
ikosa ryawe ryoguma ari ikirabagu mu maso yanje+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
23 Ushobora gute kuvuga ngo: “Sinihumanije
kandi sinakurikiye za Bayali”?
Raba ukuntu wigenza mu mubande.
Zirikana ku vyo wakoze.
Umeze nk’inyana y’ingamiya inyaruka,
iguma yiruka irya n’ino itagira iyo ija.
24 Umeze nk’indogobwa yo mw’ishamba imenyereye agahinga,
imotera umuyaga kubera inambu*.
Ni nde yoyibuza ishaka kwima?
Iziyirondera zose ntizizokwirirwa ziriruhisha.
Ikiringo cayo* nicagera zizoyironka.
25 Geza aho, ntuze ugere aho ugenda utambaye ibirato,
n’umuhogo wawe ukicwa n’inyota.
Mugabo wavuze uti: “Yaco wiruhishiriza ubusa+.
26 Abisirayeli baramaramaye
nka kurya igisuma kimaramara iyo gifashwe.
Baramaramaye bo hamwe n’abami babo, abatware babo,
abaherezi babo n’abahanuzi babo+.
27 Babwira igiti bati: “Uri dawe+”,
bakabwira ibuye bati: “Ni wewe wamvyaye.”
Mugabo jewe banteye ibitugu aho kumpanga amaso+.
Nibashikirwa n’ivyago bazovuga bati:
“Ingo udukize+.”
28 None za mana zanyu mwihinguriye ziri hehe+?
Nizize nimba zishobora kubakiza mu vyago murimwo,
kuko imana zanyu zisigaye ari nyinshi nk’ibisagara vyanyu, yemwe abo mu Buyuda+!
29 “Kubera iki mubandanya kundwanya?
Kubera iki mwangararije mwese+?”, ni ko Yehova avuze.
30 Narakubise abahungu banyu ntihagira ikivamwo+.
Ntibemeye gutozwa indero+.
Inkota yanyu bwite ni yo yamaze abahanuzi banyu+,
nka kurya kw’intambwe irondera ico irya.
31 Mwa bantu* mwe, nimuzirikane ivyo Yehova avuga.
Noba nsigaye meze nk’ubugaragwa ku Bisirayeli
canke igihugu c’umwiza uruhisha?
Kubera iki aba bantu banje bavuze bati: “Twiyererera mu mwidegemvyo.
Ntituzokwongera kukugarukako+”?
Yamara abantu banje bo, bamaze imisi itagira uko ingana baranyibagiye+.
33 Ese ukuntu ukorana ubuhinga mu kurondera abakunzi wa mugore we!
Wimenyereje gukora ububisha+.
34 Mbere n’impuzu zawe ziriko ibirabagu vy’amaraso y’aboro ata co bazira+.
Sinabafashe bariko baramena inzu,
ariko amaraso yabo nayasanze ku mpuzu zawe zose+.
35 Mugabo uvuga uti: “Ndera.
Ni ukuri ntakinshavuriye.”
Ngira rero ndaguhane
kubera ko uvuga ngo: “Sinacumuye.”
36 Kubera iki uri mahindagu mugabo ukamenga nta co bikubwiye?
37 Ni co gituma kandi uzogenda wikoreye amaboko+,
kuko Yehova yanse abo wari wizigiye.
Nta co bazokumarira.»
3 Abantu barabaza ngo: «Umugabo yirukanye umugore wiwe akagenda, akaba umugore w’uwundi mugabo, mbega yoba akimucura?»
Wumva ico gihugu kitahumanye rwose+?
2 «Raramura amaso urabe imirambi igaragara.
Ni hehe abagabo bataryamaniye nawe?
Wicaye ku mabarabara ubarindiriye
nk’umuntu aguma yimuka* mu bugaragwa.
Uguma uhumanisha igihugu
ubumaraya bwawe n’ububisha bwawe+.
5 Hari uwoguma ashavuye ibihe vyose
canke akagumana inzika?”
Ivyo ni vyo muvuga,
mugabo muguma mukora ibibi vyose mushoboye gukora+.»
6 Mu gihe c’umwami Yosiya+, Yehova yambwiye ati: «“Wabonye ivyo wa muhemu Isirayeli yakoze? Yagiye ku misozi miremire yose no munsi y’igiti gitotahaye cose, ahakorera ubumaraya+. 7 N’inyuma y’aho akoreye ivyo bintu vyose, nagumye ndamubwira ngo angarukeko+, mugabo ntiyagarutse. Yuda na we yaguma yitegereza mwenewabo w’umuhemu+. 8 Aho ndabiboneye, narirukanye uwo muhemu Isirayeli, ndamuha urupapuro rwo kwahukana+ kubera yarenze ibigo+. Yamara mwenewabo w’umuhemu Yuda ntiyatinye. Na we nyene yaragiye akora ubumaraya+. 9 Ubumaraya yakora yabufata ibisanzwe, kandi yagumye ahumanya igihugu yongera arenga ibigo mu gusenga ibiti n’amabuye+. 10 Naho ivyo vyose vyabaye, mwenewabo w’umuhemu Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose. Kwari ukwigirisha gusa”, ni ko Yehova avuze.»
11 Yehova aca ambwira ati: «Wa muhemu Isirayeli yabaye umugororotsi gusumba wa muhemu Yuda+. 12 Genda utangaze aya majambo uyerekeza mu buraruko+ uti:
“‘Ewe muhemu Isirayeli, nugaruke’, ni ko Yehova avuze+.” “‘Sinzokurabira hasi nshavuye+ kuko ndi intahemuka’, ni ko Yehova avuze.” “‘Sinzogumana inzika ibihe vyose. 13 Wewe gusa niwemere ikosa ryawe, kuko wagararije Yehova Imana yawe. Wagumye uryamana* n’abanyamahanga* munsi y’igiti gitotahaye cose, mugabo ntiwumviye ijwi ryanje’, ni ko Yehova avuze.”»
14 «Nimugaruke mwa bana b’ibihemu», ni ko Yehova avuze. «Kuko nababereye shobuja w’ukuri*. Nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo maze ndabajane i Siyoni+. 15 Nzobaha abungere bameze nk’uko umutima wanje ugomba+. Bazobagaburira bakoresheje ubumenyi n’ubukerebutsi*. 16 Muri iyo misi muzogwira kandi murondoke mu gihugu», ni ko Yehova avuze+. «Nta wuzosubira kuvuga ngo: “Isandugu y’isezerano rya Yehova!” Ntizobaza mu mutima canke ngo bayibuke canke ngo bayikumbure, kandi nta yindi izosubira gukorwa. 17 Ico gihe Yeruzalemu bazoyita intebe y’ubwami ya Yehova+. I Yeruzalemu ni ho amahanga yose azokoranirizwa kugira ngo ashemeze izina rya Yehova+, kandi ntibazokwongera gukurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo.»
18 «Muri iyo misi, abo mu Buyuda no muri Isirayeli bazogendana+. Bazova mu gihugu co mu buraruko bari kumwe, binjire mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ngo kibe intoranwa yabo+. 19 Nibwiye nti: “Ese ukuntu nagufashe nk’umwe mu bahungu banje nkaguha igihugu gihimbaye, intoranwa nziza kuruta izindi zose mu mahanga*+!” Nibwiye kandi ko wonyise “Dawe!”, be n’uko utokwigeze ureka kunkurikira. 20 “Mu vy’ukuri, nka kurya umugore ahemuka agata umugabo* wiwe, ni ko na mwebwe Bisirayeli mwampemukiye+”, ni ko Yehova avuze.»
21 Ku mirambi igaragara humvikanye ijwi.
Ni ijwi ry’ukurira n’ugutakamba kw’Abisirayeli.
Kuko bagoramitse inzira yabo,
bibagira Yehova Imana yabo+.
22 «Yemwe bana b’ibihemu, nimugaruke.
Nzokiza ubuhemu bwanyu+.»
«Turarengutse! Tuje iwawe Yehova,
kuko uri Imana yacu+.
23 Ni ukuri ivyo twakorera ku mirambi n’urwamo twavugiriza ku misozi vyari ivy’uruhendo+.
Ni ukuri Yehova Imana yacu ni we azokiza Isirayeli+.
24 Mugabo ikintu c’akamaramaza* carahoneje ivyo ba sogokuruza bacumukuriye kuva mu buto bwacu+,
gihonya ibitungwa vyabo bitobito na bininibinini,
n’abahungu babo n’abakobwa babo.
25 Turyame hasi kubera ibimaramare,
twipfuke agateterwe,
kuko twebwe na ba data twacumuye kuri Yehova Imana yacu+,
kuva mu buto bwacu gushika n’uyu musi+.
Ntitwumviye ijwi rya Yehova Imana yacu.»
4 Yehova avuze ati: «Ewe Isirayeli, niwashima kugaruka,
ugashima kungarukako,
ukankura imbere ibigirwamana vyawe bisesemye,
ntuzosubira guhunga+.
2 Kandi niwarahira uti:
“Ndakurahiye Yehova Imana nzima”, ukarahira mu kuri, mu butungane no mu bugororotsi,
amahanga azoheza rero yironkere imihezagiro ivuye kuri jewe,
abe ari jewe yirata+.»
3 Kuko Yehova abwiye abagabo bo mu Buyuda n’abantu b’i Yeruzalemu ati:
«Nimwirimire isi ndimwa,
mureke kuguma mubiba mu mahwa+.
4 Nimugenyerwe* kugira muhimbare Yehova,
kandi mugenyere imitima yanyu+,
yemwe bagabo bo mu Buyuda namwe ababa i Yeruzalemu.
Ahandiho uburake bwanje bwokwaka nk’umuriro,
bukaka hakabura uwubuzimya,
kubera ibikorwa vyanyu bibi+.
5 Nimubimenyekanishe mu Buyuda, mubitangaze i Yeruzalemu.
Nimusemerere muvuze inzamba mu gihugu cose+.
Nimushire ijwi hejuru muvuge muti: “Koranira hamwe,
duhungire mu bisagara bikingijwe ibihome+.
6 Nimushinge ikimenyetso* mucerekeza i Siyoni.
Nimurondere ubuhungiro kandi ntimuhagarare”,
kuko ngira nzane ivyago bivuye mu buraruko+, nzane ugusenyuka gukomeye.»
Aje ava iyo ari ngo atume igihugu cawe gihinduka akajoreza.
Ibisagara vyawe bizotikira bisigare ari umusaka, ata muntu abibamwo+.
9 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi umutima* w’umwami uzomuvamwo+,
n’uw’abaganwa* ni ukwo.
Abaherezi bazojorerwa, abahanuzi na bo bumirwe+.»
10 Maze mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova, vy’ukuri warahenze rwose aba bantu+ n’ababa i Yeruzalemu. Wavuze uti: “Muzoronka amahoro+”, none raba inkota ituri kw’izosi*.»
11 Ico gihe bazobwira aba bantu n’ababa i Yeruzalemu bati:
«Hari umuyaga uturira uvuye ku mirambi igaragara yo mu bugaragwa
uzohuhutira ku bantu banje*.
Ntuzoba uje kugosora canke gutyorora intete.
12 Ni jewe ntegeka uwo muyaga wose kuza uvuye muri ivyo bibanza.
Ubu rero ngira ndabamenyeshe imanza nabaciriye.
Amafarasi yiwe anyaruka kurusha inkona+.
Turagowe kuko dutikiye!
14 Ewe Yeruzalemu, niwoze umutima wawe uwukuremwo ububisha kugira ubone gukizwa+.
Uzogumana ivyiyumviro vy’ububisha gushika ryari?
16 Nimubimenyeshe, emwe, mubimenyeshe amahanga.
Nimubitangarize Yeruzalemu.»
«Abarerekera umwansi* bariko baraza bavuye mu gihugu ca kure,
kandi bazokwiha akamo ko gutera ibisagara vy’Ubuyuda.
17 Baje kumutera bazananye impande zose nk’abarinzi b’umurima+,
kuko yangararije+», ni ko Yehova avuze.
18 «Ingeso zawe n’ivyo ukora, uzovyishura+.
Icago kizogushikira kizoba gikaze,
kuko ibibi ukora bishika no mu mutima wawe.»
Numva mfise agahinda kenshi mu mutima*.
Umutima wanje uguma wiruka.
20 Inkuru z’ivyago ziguma zikurakuranwa,
kuko igihugu cose gitikijwe.
Amahema yanje bwite aratikijwe bukwi na bukwi.
Ibitambara vyanje vy’ihema+ bitikiye mu kanya isase.
Ni abana b’ibijuju ata co bategera.
Ubwenge* bwo gukora ikibi bari na bwo,
ariko ubwo gukora iciza nta bwo bagira.»
23 Nararavye igihugu cabo, nsanga kiragaragara, ari umusaka+,
ngo ndabe ijuru, nsanga umuco waryo nta wukiriho+.
26 Nararavye nsanga umurima w’ivyamwa usigaye ari agahinga,
ibisagara vyaho vyose na vyo vyasambuwe+.
Vyabaye kubera Yehova,
kubera ishavu ryiwe rirurumba.
Abantu bitera mu bisaka bizitanye,
bakurira ku bitandara+.
Ibisagara vyose babitaye,
nta muntu akibayo.»
30 None ubu ko watikijwe, uzogira ute?
Wahora wambara impuzu z’agahama,
ukishariza udusharizo tw’inzahabu,
n’amaso yawe ukayagira meza mu kuyasiga ibintu vyirabura.
31 Kuko numvise ijwi nk’iry’umugore arwaye,
amarushwa nk’ay’umugore ariko yibaruka umwana wiwe wa mbere,
ijwi ry’umukobwa wa Siyoni* aguma ahezagirika.
Aguma ata amaboko+ avuga ati:
«Ndagowe yemwe, abicanyi baranduhije!»
5 Nimunyuragire mu mabarabara y’i Yeruzalemu,
murabe hirya no hino, mwitegereze.
Nimurondere mu bibanza rusangi vyaho,
murabe yuko hari umuntu mwobona akurikiza ubutungane+,
umuntu yihatira kuba umwizigirwa,
nanje nzoca ndabaharira.
2 N’igihe bavuze ngo: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima!»,
baba bariko barahira ibinyoma+.
3 Ewe Yehova, mbega amaso yawe ntarondera ubwizigirwa+?
Warabakubise mugabo nta co vyababwiye*.
Warabatikije mugabo ntibemeye gutozwa indero+.
4 Mugabo nibwiye nti: «Vy’ukuri bategerezwa kuba ari banyarucari.
Bakora ivy’ubupfu kuko batazi inzira ya Yehova,
batazi ubutungane bw’Imana yabo.
5 Ngira nje rero ku bahambaye, mvugane na bo,
kuko bobo bategerezwa kuba baritayeho kumenya inzira ya Yehova,
bakamenya ubutungane bw’Imana yabo+.
Ariko nasanze bose baravunaguye igiti co kwikoreza imizigo*,
bavutagura imigozi.»
6 Ni co gituma baterwa n’intambwe ivuye mu kibira,
ibingira yo mu biyaya vy’ubugaragwa ikaguma yiha inkumbi muri bo,
ingwe na yo ikaguma irikanuye hafi y’ibisagara vyabo.
Uwusohotse wese aca atabagurwa.
Bibashikira kubera ibicumuro vyabo ari vyinshi,
n’ubuhemu bwabo bukaba bwaragwiriye+.
7 Noshobora gute kukubabarira ico kintu?
Abahungu bawe barantaye,
kandi barahira ibitari Imana+.
Narabahaye ivyo bakeneye,
mugabo bagumye barenga ibigo,
bakaja ku nzu y’umumaraya ari umugwi.
8 Bameze nk’amafarasi yuzuye inambu ashaka kwimya.
Umwe wese yabira nk’ifarasi, yipfuza umugore wa mugenziwe+.
9 «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze.
«Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo+?»
Nimukureho imivyaro yiwe ikinaga,
kuko atari iya Yehova.
Nta vyago bizodushikira,
kandi nta nkota canke inzara tuzobona+.”
Barakamera nk’uwo muyaga.»
14 Yehova Imana Nyeningabo avuze rero ati:
«Kubera ko abo bantu bavuga ivyo,
ngira ntume amajambo yanje aba umuriro mu kanwa kawe+,
aba bantu na bo babe inkwi,
maze uwo muriro ubarigate+.»
15 Yehova avuze ati: «Ehe ngira ndabazaneko ihanga ndarikuye kure, yemwe Bisirayeli+.
Ni ihanga rimaze igihe kirekire.
16 Agasaho kabo k’imyampi kameze nk’imva irangaye.
Bose barazi kurwana.
17 Bazorya umwimbu wawe n’umukate wawe+.
Bazokwica abahungu bawe n’abakobwa bawe.
Bazorya ibitungwa vyawe bitobito na bininibinini.
Bazorya imizabibu yawe n’imisukoni yawe.
Ibisagara vyawe wizigiye bikingijwe ibihome, bazobisambuza ibirwanisho vyabo.»
18 Yehova avuze ati: «Mugabo no muri ico gihe sinzobatikiza ngo ndabamare+. 19 Kandi nibabaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yadukoreye ivyo bintu vyose?” Uze ubishure uti: “Kubera ko mwampevye, mugakorera imana y’inyamahanga mu gihugu canyu, rero muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu+.”»
20 Nimumenyeshe ibi abakomoka kuri Yakobo,
mubitangaze no mu Buyuda muti:
21 «Nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge*+,
22 Yehova avuze ati: “Mbega ntimuntinya?
Mbega ntimwari mukwiye kujugumira imbere yanje?
Ni jewe nashizeho umusenyi ngo ubere ikiyaga urubibe,
nshinga itegeko ntabanduka kidashobora kurenga.
Naho imipfunda yaco isuriranya, ntishobora kunesha.
Naho iroha, na ho nyene ntishobora kurengana+.
23 Mugabo aba bantu bafise umutima w’intagondwa kandi ugarariza.
Barakebeje bafata inzira yabo bwite+.
24 Kandi ntibibwira mu mutima ngo:
‘Ubu rero nimuze dutinye Yehova Imana yacu,
Umwe atanga imvura mu gihe cayo,
yaba imvura y’agatasi canke y’impeshi,
Umwe atuma dushobora kuronka amayinga y’iyimbura+.’
25 Amakosa yanyu ni yo yatumye mutaronka ivyo bintu.
Ibicumuro vyanyu ni vyo vyababujije kwironkera ivyiza+.
26 Kuko mu bantu banje harimwo ababisha.
Baguma bareretse nka kurya abatega inyoni babunda.
Batega umutego wica,
bagacakira abantu.
Ni co gituma basigaye ari abantu bakomeye kandi batunze.
28 Basigaye badoshe, bafise akabiri karemvye.
Ikibi cabo caruzuye kirarenga.
29 «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze.
«Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo?
30 Hari ikintu c’akumiza kandi giteye ubwoba cabaye mu gihugu:
31 abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ibinyoma+,
abaherezi bagakoresha ubukuru bwabo mu gukandamiza abandi.
Kandi abantu banje barabikunda+.
None muzobigenza gute iherezo niryaza?»
6 Yemwe bene Benyamini, nimuve i Yeruzalemu murabe iyo muhungira.
kuko hari icago kizananye mu buraruko, icago gikomeye+.
2 Umukobwa wa Siyoni asa n’umugore mwiza kandi yamikaye+.
3 Abungere bazozanana n’amasho yabo.
4 «Twitegurire* intambara tuhatere!
Nimuhaguruke tuhatere mu masasita!»
«Kabaye umusi ugeze kure,
ibitutu vyo ku mugoroba birushiriza kuba birebire.»
6 Kuko Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Nimwicire ibiti, murunde ibintu mwuririrako kugira mutere Yeruzalemu+.
Ni igisagara gitegerezwa kubazwa ivyo cakoze.
Cuzuyemwo agacinyizo gusa+.
7 Kurya nyene itangi rizigama amazi apfutse,
ni ko n’iki gisagara kizigama ububisha bwaco.
Muri co humvikana ubukozi bw’ikibi n’agatikizo+.
Nama ndahabona indwara n’ivyago.
8 Niwumve imburi ndaguhaye, ewe Yeruzalemu, ahandiho nzokuzinukwa ndagute+.
Nzotuma uhinduka umusaka, usigare uri ahantu ata wuhaba+.»
9 Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Amasigarira ya Isirayeli bazoyatorora yose nk’uko batorora inzabibu za nyuma ku muzabibu.
Subira utume ukuboko ubegeranye nka kurya kw’uwegeranya inzabibu azisoroma ku mizabibu.»
10 «Ni nde nobwira, nkamuburira?
Ni nde azokwumviriza?
Erega amatwi yabo yarazivye*, ntibashobora kwumva+.
Basigaye bagaya ijambo rya Yehova.
Ntirikibahimbara+.
«Busuke ku mwana ari mw’ibarabara+,
ubusuke ku migwi y’abasore bakoraniye hamwe.
kuko nzoramvura ukuboko, mpane ababa mu gihugu», ni ko Yehova avuze.
13 «Kuko kuva ku muto gushika ku mukuru, umwe wese yironderera inyungu mbi+,
kandi kuva ku muhanuzi gushika ku muherezi, bose bakoresha uruyeri+.
14 Kandi bagerageza kuvura nabinabi* aho abantu banje bavunitse*, bakavuga bati:
“Hari amahoro! Hari amahoro!”,
kandi ata mahoro ariho+.
15 Boba bamaramazwa n’ibintu bishisha bakora?
Ntibamaramara namba.
Ntibazi n’ico ari co kugira isoni+.
Ku bw’ivyo, bazogwa mu baguye.
Ninabahana bazotsitara», ni ko Yehova avuze.
16 Ibi ni vyo Yehova avuze:
«Nimuhagarare ku masanganzira murabe.
Mugabo bavuga bati: «Eka ntituyigenderamwo+.»
Mugabo bo bavuze bati: «Eka ntituryumviriza+.»
18 «Nimwumve rero, mwa mahanga!
Nawe wa koraniro
numenye ibizoshikira abo bantu.
19 Umva, wa si we!
Ngira nzane ivyago kuri aba bantu+
kubera imigambi yabo mibi,
kuko batumvirije amajambo yanje,
bagashibura amategeko* yanje.»
Amashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye nta yo nemera,
kandi ibimazi vyanyu ntibimpimbara+.»
21 Ku bw’ivyo Yehova avuze ati:
«Ehe ngira nshirireho aba bantu ibitsitaza,
kandi bazobitsitarako,
ba se hamwe n’abana,
umubanyi na mugenziwe,
kandi bose bazoyogera+.»
22 Yehova avuze ati:
«Hari abantu bariko baraza bavuye mu gihugu co mu buraruko,
kandi ihanga rikomeye rizokangurwa rize rivuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
23 Bazofata umuheto n’agacumu.
Barakaze kandi ntibagira akagongwe.
Ijwi ryabo rizoroha nk’ikiyaga.
Bagendera ku mafarasi+.
Batonze urugamba nk’umuntu umwe kugira ngo bakurwanye, ewe mukobwa wa Siyoni!»
24 Twarumvise inkuru yabo.
25 Ntusohoke ngo uje mu gahinga,
canke ngo uce mw’ibarabara,
kuko umwansi afise inkota.
Hose hari ubwoba.
Nimugandare nk’abagandariye umwana w’ikinege,
muborogane agahinda kenshi+
kuko uwuhonya azotuzako giturumbuka+.
27 «Ndakugize* uwusuzuma ivyuma mu bantu banje,
uwutohoza ibintu yitonze.
Uze wihweze neza, usuzume inzira yabo.
Bameze nk’umujumpu n’icuma.
Bose barononekaye.
Mu muriro wayo havamwo ubutare bw’isasu.
7 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Hagarara mw’irembo ry’inzu ya Yehova, uhatangarize ubu butumwa, uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova, mwebwe mwese abo mu Buyuda muca muri aya marembo, mugiye kwunamira Yehova. 3 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimuhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, nanje nzobareka mugume muba aha hantu+. 4 Ntimwizigire amajambo y’ububeshi ngo muvuge muti: “Uru* ni urusengero rwa Yehova, urusengero rwa Yehova, urusengero rwa Yehova+!” 5 Kuko nimwahindura vy’ukuri ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mugakurikiza vy’ukuri ubutungane hagati y’umuntu na mugenziwe+, 6 ntimucinyize abanyamahanga, impfuvyi* n’abapfakazi+, ntimusese amaraso y’intungane aha hantu, kandi ntimukurikire izindi mana ngo mwikwegere ivyago+, 7 nanje nzobareka mugume muba aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu ngo bakibemwo ibihe vyose*.’”»
8 «Mugabo mwizigira amajambo y’ububeshi+. Ivyo nta na kimwe bizobamarira. 9 Mbega mwokwiba+, mukica, mukarenga ibigo, mukarahira ibinyoma+, mugashikanira ibimazi* Bayali+ kandi mugakurikira imana mutamenye, 10 hanyuma mukaza mugahagarara imbere yanje muri iyi nzu yitirirwa izina ryanje, mukavuga muti: “Tuzorokorwa”, kandi mukora ivyo bintu vyose bishisha? 11 Mbega iyi nzu yitirirwa izina ryanje musigaye mubona ko ari isenga ry’abambuzi+? Erega naravyiboneye», ni ko Yehova avuze.
12 «“Enda nimugende ha hantu hanje i Shilo+, ahantu natanguye kwitirira izina ryanje+, murabe ivyo nahagiriye kubera ibibi vy’abantu banje b’Abisirayeli+. 13 Mugabo mwagumye mukora ivyo bintu vyose”, ni ko Yehova avuze. “Naho navuganye namwe incuro n’izindi*, ntimwumvirije+. Nagumye ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+. 14 Ku bw’ivyo rero, kurya nagiriye Shilo ni ko nzogirira iyi nzu mwizigira+ yitirirwa izina ryanje+ be n’aha hantu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+. 15 Kandi nzobashibura mumve mu maso, nk’uko nashibuye benewanyu bose, abakomoka kuri Efurayimu bose+.”
16 Ariko weho, ntusengere aba bantu. Ntundirire canke ngo unsenge canke ngo untakambire ku bwabo+ kuko ntaza kukwumviriza+. 17 Mbega ntubona ivyo bakora mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu? 18 Abana barasenya inkwi, ba se bagacana umuriro, abagore na bo bagakora igikandu kugira ngo bakore udukate two gushikanira umwamikazi w’ijuru*+. Basukira amashikanwa y’ibinyobwa izindi mana kugira ngo bambabaze+. 19 “Ugira ngo ni jewe bagirira nabi*?”, ni ko Yehova avuze. “Mbega si bo bigirira nabi, bimaramaza+?” 20 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ishavu ryanje n’uburake bwanje nzobisuka aha hantu+, ku muntu no ku gikoko, ku biti vyo mw’ishamba no ku vyimburwa vy’isi. Ishavu ryanje rizokwaka nk’umuriro kandi ntirizozima+.”
21 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Fata ayo mashikanwa yanyu aturirwa uko yakabaye, muyongere ku bindi bimazi vyanyu muheze murye izo nyama+. 22 Kuko umusi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri, ata na kimwe nababwiye canke ngo ndabategeke ku bijanye n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye canke ibindi bimazi+. 23 Mugabo iri tegeko ryoryo nararibahaye, nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje, nanje nzobabera Imana, namwe mube abantu banje+. Muze mugendere mu nzira zose ndabategetse gucamwo kugira ngo muroranirwe+.’” 24 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bisunze imigambi* yabo mibi, bakurikira umutima wabo mubi babigiranye akagagazo+. Basubiye inyuma aho kuja imbere. 25 Vyabaye ukwo kuva umusi ba sogokuruza banyu bava mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi+. Nagumye rero ndabatumako abasavyi banje bose b’abahanuzi, nkabatuma buri musi, incuro n’izindi*+. 26 Mugabo baranse kunyumviriza, ntibatega ugutwi+. Babaye intagondwa* bakora ibibi kurusha ba sekuruza babo.
27 Uzobabwira ayo majambo yose+ mugabo ntibazokwumviriza. Uzobahamagara mugabo ntibazokwitaba. 28 Uzobabwire rero uti: “Ng’iri ihanga ritumvirije ijwi rya Yehova Imana yaryo, ryanka gutozwa indero. Ubwizigirwa bwarazimanganye, nta n’uwukibucisha mu kanwa*+.”
29 Numwe umushatsi wawe utigeze umobwa* maze uwute, kandi ucurire intimba* ku mirambi igaragara, kuko Yehova yahevye aba bantu* batumye araka, kandi azobata. 30 “Kuko abo mu Buyuda bakoze ivyo mbona ko ari bibi”, ni ko Yehova avuze. “Bashize ibigirwamana vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira bayihumanye+. 31 Bubatse ibibanza vyo gusengeramwo* i Tofeti mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo+. Ico ni ikintu ntabategetse, kitigeze kinza no mu mutima*+.”
32 Yehova rero avuze ati: “Mu misi iri imbere, aho hantu ntihazoba hacitwa Tofeti canke umubande wa mwene Hinomu*, ahubwo hazosigara hitwa umubande w’amacuniro. Bazohamba i Tofeti gushika aho ata kibanza gisigara+. 33 Imivyimba y’aba bantu izoribwa n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, kandi nta n’umwe azobitera ubwoba+. 34 Nzohagarika mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, kuko igihugu kizotikizwa gisigare ari umusaka+.”»
8 Yehova avuze ati: «Ico gihe amagufa y’abami b’Ubuyuda, ay’abatware baho, ay’abaherezi, ay’abahanuzi n’ay’ababa i Yeruzalemu azokurwa mu mva zabo. 2 Azosanzwa munsi y’izuba, ukwezi n’ingabo zose zo kw’ijuru. Ivyo bintu barabikunze barabikorera, barabikurikira, barabirondera bongera baravyunamira+. Ayo magufa ntazokwegeranywa canke ngo ahambwe. Azoba nk’intabire isanzaye kw’isi+.
3 Abazoba basigaye muri uyu muryango mubi, aho nzoba narabasanzarije hose, bazohitamwo urupfu aho guhitamwo ubuzima», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
4 «Uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati:
‘Mbega bazogwa ntibasubire guhaguruka?
Hamwe umwe yogaruka, uwundi we ntiyogaruka?
5 Kubera iki aba bantu b’i Yeruzalemu baguma bampemukira?
Bumiye ku bubeshi.
Baranse kugaruka+.
6 Narateze ugutwi nguma numviriza, nsanga nta kintu c’ukuri bavuga.
Nta muntu n’umwe yigaye ububisha bwiwe canke ngo yibaze ati: “Ibi nakoze ni ibiki+?”
Umwe wese aguma asubira gukurikira ingendo ya benshi, nk’ifarasi yirasa mu rugamba.
7 Mbere n’agasoza kaguruka mu kirere karazi ibihe vyako*.
Intunguru n’intamba n’imarankoni* birubahiriza igihe cavyo co kugaruka*.
Ariko abantu banje bo ntibamenya igihe jewe Yehova nzobacira urubanza+.’”
8 “Mushobora mute kuvuga ngo: ‘Turi inkerebutsi, tukagira n’amategeko* ya Yehova’?
Honyene ikaramu* y’ikinyoma+ y’abanditsi* yandikishwa ibinyoma gusa.
9 Abantu b’inkerebutsi baramaramaye+.
Baragize ubwoba kandi bazofatwa.
Barataye ijambo rya Yehova.
None ubukerebutsi bafise ni ubuhe?
10 Ku bw’ivyo, abagore babo nzobaha abandi bagabo,
imirima yabo ndayihe abandi+.
Kuko kuva ku muto gushika ku mukuru, umwe wese yironderera inyungu mbi+,
kandi kuva ku muhanuzi gushika ku muherezi, bose bakoresha uruyeri+.
11 Kandi bagerageza kuvura nabinabi* aho abantu banje bavunitse*, bakavuga bati:
‘Hari amahoro! Hari amahoro!’,
kandi ata mahoro ariho+.
12 Boba bamaramazwa n’ibintu bishisha bakora?
Ntibamaramara namba.
Ntibazi n’ico ari co kugira isoni+.
Ku bw’ivyo, bazogwa mu baguye.
Ninabahana bazotsitara+”, ni ko Yehova avuze.
13 Yehova avuze ati: “Ninabegeranya nzobaherengeteza.
Nta nzabibu zizosigara ku muzabibu, nta nsukoni zizosigara ku giti c’umusukoni, kandi amababi azokabirana.
Ibintu nabahaye bazobitakaza.”»
14 «Kubera iki twicaye ng’aha?
Ingo dukoranire hamwe, tuje mu bisagara bikingijwe ibihome+ dupfireyo.
Kuko Yehova Imana yacu azoturandura,
kandi atunywesha amazi arimwo ishano+
kubera ko twacumuye kuri Yehova.
15 Twari twiteze amahoro mugabo nta ciza cabonetse.
Twari twiteze igihe co gukira mugabo hari ubwoba bwinshi+.
16 Ugupfuhagira kw’amafarasi y’umwansi kwumvikana kuva i Dani.
Igihugu cose kiratigita
cumvise ijwi ry’ukwanaga kw’impfizi z’amafarasi yiwe.
Abansi baraza bakarotsa igihugu n’ibiri muri co vyose,
igisagara n’abakibamwo.»
17 «Kuko ngiye kubarungikamwo inzoka,
inzoka z’ubumara zidashobora kugotwa,
kandi ari ukubakomora zizobakomora», ni ko Yehova avuze.
18 Mfise intuntu idashobora guhera.
Umutima wanje urarwaye.
riti: «Mbega Yehova ntari i Siyoni?
Umwami waho wewe si yo ari?»
«Kubera iki none bambabaje mu gusenga ibishusho bibajwe,
bagasenga imana z’inyamahanga ata co zimaze?»
20 «Iyimbura riraheze n’ici rirarangiye,
mugabo ntitwigeze turokorwa!»
Ndajorewe.
22 Mbega i Gileyadi nta mavuta yo kuvura* ariyo+?
Canke hoho, nta muvuzi* ariyo+?
Kubera iki none abantu bo mw’ihanga ryacu* batakize+?
Norize rero umurango n’ijoro
ndirira abantu bo mw’ihanga ryacu bishwe.
2 Icompa uburaro bw’ingenzi mu bugaragwa!
Nociye mbisa aba bantu bo mw’ihanga ryacu, nkigira kure yabo,
kuko bose barenga ibigo+,
bakaba ari akagwi k’ibihemu.
«Bava mu bubi baja mu bundi,
kandi ntibanyitaho+», ni ko Yehova avuze.
4 «Mwese nimwirinde bagenzi banyu,
ntimwizere na benewanyu.
5 Umwe wese acamwo mugenziwe,
kandi nta n’umwe avugisha ukuri.
Bigishije ururimi rwabo kuvuga ikinyoma+.
Barakora ikibi bakaruha.
6 Uba hagati mu binyoma.
Baranse kumenya ibinyerekeye kubera ibinyoma vyabo», ni ko Yehova avuze.
7 Ku bw’ivyo rero Yehova Nyeningabo avuze ati:
8 Ururimi rwabo ni umwampi wica uvuga ibinyoma.
Umuntu abwira mugenziwe ivy’amahoro ku munwa gusa,
mugabo mu mutima amubundiye.»
9 «Mbega sinkwiye kugira ico ndababaza kubera ivyo bintu?», ni ko Yehova avuze.
«Mbega sinkwiye kwihora ihanga rimeze gutyo+?
10 Nzoririra imisozi ndayiborogere,
ncurire intimba* uburagiro bwo mu gahinga,
kuko bahaturiye ku buryo ata wukihaca,
kandi nta jwi ry’ibitungwa ricumvikana.
Inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyarahunze, nta bikihari+.
11 Yeruzalemu nzohagira ibirundo vy’amabuye+, ahantu haba imbwebwe+,
ibisagara vy’Ubuyuda na vyo ndabigire umusaka, bisigare ata wubibamwo+.
12 Ni nde afise ubukerebutsi bukwiye ngo atahure igituma ibi bintu biriko biraba?
Ni nde Yehova yavugishije ngo abimenyekanishe?
Kubera iki igihugu cayogeye?
Kubera iki cababutse kikamera nk’ubugaragwa
ku buryo ata wukihaca?»
13 Yehova yishura ati: «Ni kubera ko bahevye amategeko* nabahaye no kubera ko batayakurikije ngo bumvire ijwi ryanje. 14 Ahubwo bagumye bakurikira imitima yabo babigiranye akagagazo+, basenga* ibishusho vya Bayali, nk’uko ba se bari barabibigishije+. 15 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Aba bantu ngira ndabarishe ibirura*, ndabanyweshe n’amazi arimwo ishano+. 16 Nzobasanzariza mu mahanga bo hamwe na ba se batamenye+, kandi nzorungika inkota ibakurikire gushika ndabahoneje+.”
Nimutumeko abagore baririmba uturirimbo tw’intimba+,
mutumeko n’abagore bazi kurira,
18 kugira ngo banyaruke baducurire intimba n’ijwi rirenga,
amosozi atembe mu maso yacu,
ibigohe vyacu bijojote amazi+.
19 Kuko i Siyoni humvikanye ijwi ry’abacura intimba+, rigira riti:
‘Ese ukuntu twatikijwe!
Ibimaramare biratwishe!
Kuko twavuye mu gihugu, kandi amazu yacu barayasambuye+.’
20 Yemwe bagore, nimwumve ivyo jewe Yehova mvuga.
Ugutwi kwanyu nikwakire ivyo akanwa kanje kavuga.
Nimwigishe abakobwa banyu aya majambo yo gucura intimba,
namwe mwigishanye aka karirimbo k’intimba+.
21 Kuko urupfu rwinjiranye mu madirisha yacu.
Rwinjiye mu minara yacu ikomeye,
kugira rurandure abana mu mabarabara,
n’imisore mu bibanza rusangi+.”
22 Nimuvuge muti: “Yehova avuze ati:
‘Imivyimba y’abantu izokwandagara nk’intabire mu murima,
nk’ibinyantete umwimbuzi ahejeje gutema,
ntihagire n’umwe avyegeranya+.’”»
23 Yehova avuze ati:
«Umuntu w’inkerebutsi ntiyiratire ubukerebutsi bwiwe+,
umunyenkomezi ntiyiratire inkomezi ziwe
n’umutunzi ntiyiratire ubutunzi bwiwe+.»
24 «Mugabo uwirata, niyiratire iki kintu:
ko atahura cane ibinyerekeye kandi akaba anzi+,
ko ndi Yehova, Umwe yerekana urukundo rudahera*, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi+,
kuko ivyo ari vyo bimpimbara+», ni ko Yehova avuze.
25 Yehova avuze ati: «Mu misi iri mbere, nzogira ico mbaza abantu bose bagenyerewe ariko batagenyerewe vy’ukuri+, 26 ni ukuvuga Misiri+, Ubuyuda+, Edomu+, Abamoni+, Abanyamowabu+ n’abantu bose bafise imisaya imoye baba mu bugaragwa+. Kuko amahanga yose atagenyerewe, kandi abo mw’ihanga rya Isirayeli bose ntibagenyerewe mu mutima+.»
10 Ng’ibi ivyo Yehova avuze abagabisha yemwe Bisirayeli. 2 Yehova avuze ati:
«Ntimwige ingeso z’amahanga+,
kandi ntimurandurwe umutima n’ibimenyetso vyo kw’ijuru,
ngo ni uko amahanga arandurwa umutima na vyo+.
3 Kuko imigenzo y’amahanga ari uruhendo*.
Umubaji w’umuhinga araca igiti gisanzwe co mw’ishamba,
akagihinguramwo ikigirwamana akoresheje igikoresho ciwe+.
5 Ivyo bigirwamana bimeze nk’igikanganyoni mu murima w’amakonkombure. Ntibishobora kuvuga+.
Barabirerura kuko bidashobora gutambuka+.
Ntimubitinye kuko ata kibi bishobora gukora,
nta n’iciza bishobora gukora+.»
6 Ewe Yehova, nta n’umwe ameze nkawe+.
Urahambaye, n’izina ryawe rirahambaye kandi rirakomeye.
7 Ni nde atogutinya ga Mwami w’amahanga+?
Urabibereye kuko mu nkerebutsi zose z’amahanga no mu bwami bwayo bwose,
ata n’umwe ameze nkawe namba+.
8 Bose ni imburabwenge n’ibijuju+.
Kwigishwa n’igiti nta co bimaze*+.
9 Bakura ifeza zifyase i Tarushishi+ n’inzahabu i Ufazi.
Ivyo vyose vyahinguwe n’umunyamwuga w’umuhinga, bikorwa n’amaboko y’umucuzi.
Impuzu z’ivyo bigirwamana zikozwe mu nyuzi z’ubururu no mu bwoya busa n’umuyugubwe*.
Vyose vyakozwe n’abakozi b’abahinga.
10 Mugabo Yehova ni we Mana vy’ukuri.
Ni Imana nzima+ akaba n’Umwami w’ibihe bidahera+.
Isi izonyiganyiga+ kubera ishavu ryiwe,
kandi nta hanga rizokwihanganira uburake bwiwe.
12 Ni we yaremye* isi akoresheje ububasha bwiwe,
akomeza ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+,
14 Umuntu wese akorana ubupfu nk’uwutagira ubumenyi.
Umucuzi wese azomaramara kubera ibishusho yakoze+,
kuko ibishusho vyiwe bikozwe mu cuma* ari ikinyoma.
15 Nta co bimaze*. Ni ibikorwa vy’akamenyo+.
Umusi Imana yabihagurukiye bizohona.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.
17 Egeranya umutekero wawe uwukure hasi,
ewe mugore yugarijwe!
18 Kuko Yehova avuze ati:
19 Ndagowe kubera uburwayi bwanje*+!
Mfise igikomere kidakira.
Nibwiye nti: «Vy’ukuri iyi ni yo ndwara yanje, kandi ntegerezwa kuyihanganira.
20 Ihema ryanje ryasambuwe, kandi imigozi yaryo yose yacagaguritse+.
Abana banje bantaye, nta n’umwe asigaye+.
Nta wusigaye yomfasha kuzingurura ihema ryanje canke kumanika ibitambara vyaryo.
22 Umva inkuru iriko iraza!
Hari ukunyiganyiga gukomeye kuzananye mu gihugu co mu buraruko+,
kugira ngo ibisagara vy’Ubuyuda bisigare ari umusaka, ahantu haba imbwebwe+.
23 Ewe Yehova, ndazi neza yuko umuntu we ubwiwe adashoboye kumenya inzira yocamwo.
Umuntu nta burenganzira* afise bwo kuyobora intambuko yiwe+.
24 Ewe Yehova, nunkosore ukurikije ubutungane,
Kuko barokeje Yakobo+,
emwe, baramurotsa ku buryo bahakwa kumuzimanganya+.
Batumye igihugu ciwe gicika umusaka+.
11 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Mwa bantu mwe, nimwumve ibiri muri iri sezerano!
Nubibwire* abagabo bo mu Buyuda n’abantu baba i Yeruzalemu. 3 Babwire uti: “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Aravumwe umuntu atubahiriza ibiri muri iri sezerano+, 4 ivyo nategetse ba sogokuruza banyu ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri+, mw’ifuru ishongesha ivyuma+. Nababwiye nti: “Nimwumvire ijwi ryanje, mukore ibintu vyose ndabategeka. Muzoheza mube abantu banje, nanje mbe Imana yanyu+, 5 kugira ngo nshitse ivyo narahiye ba sogokuruza banyu, ko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubuki+, nk’uko biri uyu musi.”’”»
Nuko nishura nti: «Amen*, ewe Yehova!»
6 Yehova aca ambwira ati: «Tangaza aya majambo yose mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu uti: “Nimwumve ibiri muri iri sezerano, kandi mubishitse. 7 Kuko kuva ku musi nakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi nababuriye nshimitse, nkababurira incuro n’izindi* nti: ‘Nimwumvire ijwi ryanje+.’ 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Ahubwo umwe wese yagumye akurikira umutima wiwe mubi abigiranye akagagazo+. Ni co catumye ndabazanako ibintu vyose biri muri iri sezerano. Nari narabategetse kurikurikiza, banka kubikora.”»
9 Maze Yehova ambwira ati: «Abagabo bo mu Buyuda n’abantu baba i Yeruzalemu baragiye hamwe barangarariza. 10 Basubiye mu makosa nk’ayo ba sekuruza bari barakoze kera, bamwe banka kugamburuka ivyo nababwiye+. Na bo nyene bakurikiye izindi mana barazisenga*+. Abantu bo mw’ihanga rya Isirayeli no mu Buyuda bararenze kw’isezerano nagiranye na ba sekuruza babo+. 11 Yehova rero avuze ati: “Ngira ndabazaneko ivyago+ batazoshobora guhunga. Nibantabaza sinzobumviriza+. 12 Abo mu bisagara vyo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu bazoca baja gutabaza imana basanzwe bashikanira ibimazi*+, ariko ntizizogenda zibarokoye mu vyago barimwo. 13 Kuko imana zawe zisigaye ari nyinshi nk’ibisagara vyawe, ewe Buyuda, kandi ya mana y’akamaramaza* Bayali mwayubakiye ibicaniro vyinshi bingana n’amabarabara y’i Yeruzalemu, ibicaniro vyo kuyishikanirako ibimazi+.”
14 Nayo wewe*, ntusengere aba bantu. Ntuntakambire ubasabira canke ngo ubasengere+, kuko ntazoba ndiko ndumviriza nibantakambira kubera ivyago barimwo.
15 Abantu banje nkunda cane, bubahuka gute kuza mu nzu yanje
kandi benshi muri bo bakora imigambi mibi?
Mbega ivyago nivyakuzako*, boba bazobizibira mu gushikana inyama nyeranda*?
Ico gihe woba uzokwigina?
16 Yehova yahora akwita igiti c’umwelayo gitotahaye,
ciza cama ivyamwa vyiza.
Yaratontomye bimwe bikaze aragiturira,
bavunagura amashami yaco.
17 Yehova Nyeningabo, we Murimyi yaguteye+, yavuze ko ivyago bizogushikira kubera ibibi vyakozwe n’ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda. Barambabaje mu gushikanira ibimazi Bayali+.»
18 Yehova yarabimenyesheje kugira ndabimenye.
Ico gihe waranyeretse ivyo bariko barakora.
19 Nari meze nk’umwagazi w’intama utekereje, ujanywe gukererwa.
Sinari nzi ko bagomba kungirira nabi+.
Bavuga bati: «Nimuze duhonye igiti n’ivyamwa vyaco.
Nimuze tumurandure mu gihugu c’abazima,
kugira ngo izina ryiwe ntirizosubire kwibukwa.»
20 Mugabo Yehova Nyeningabo aca urubanza mu bugororotsi.
Ese nobona ukuntu ubihora,
kuko ari wewe nashikirije imburano zanje.
21 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bantu b’i Anatoti+ barondera kukwica, bakavuga bati: «Ntukavuge ubuhanuzi mw’izina rya Yehova+, ahandiho tuzokwica.» 22 Yehova Nyeningabo rero avuze ati: «Ngira ndabahane. Imisore izokwicwa n’inkota+, abahungu babo n’abakobwa babo bicwe n’inzara+. 23 Nta n’umwe muri bo azosigara, kubera nzozana ivyago ku bantu b’i Anatoti, umwaka nzobahana+.»
12 Ewe Yehova, iyo ndagushikirije ikirego canje,
nkavugana nawe ibijanye n’ubutungane, wama ugororotse+.
Ariko none, kubera iki ababisha baroraniwe+,
ibihemu bikaba ata co vyinona?
2 Warabateye barashinga imizi.
Barakuze bama ivyamwa.
Bakwamiza mu kanwa, ariko uri kure y’imitima* yabo+.
Bashire ku ruhande nk’intama zo gukererwa,
ubashire ukwabo mu kurindira umusi wo kwicwa.
4 Igihugu kizoguma gikabiranye gushika ryari?
Ibimera ahantu hose hari agahinga, bizoguma vyumye gushika ryari+?
Kubera ikibi c’abahaba,
ibikoko n’inyoni vyarazimanganijwe.
Bavuze bati: «Ntabona ibizodushikira.»
Ko wumva utekanye mu gihugu c’amahoro,
bizokugendera gute muri vya bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani?
Barakuvugirije induru.
Ntubizere
naho bokubwira ibintu vyiza.
7 «Narahevye inzu yanje+, icibare kinyegukira+.
Uwo nkunda cane naramuretse agwa mu maboko y’abansi biwe+.
8 Uwunyegukira yambereye nk’intambwe iri mw’ishamba.
Yarantontomeye.
Ni co catumye ndamwanka.
9 Icibare canje, kuri jewe kimeze nk’inyoni ihiga y’amabara menshi.
Izindi nyoni zihiga ziragikikuza, zikagitera+.
Yemwe bikoko vyo mw’ishamba mwese, nimukoranire hamwe,
muze murye+.
Umurima wanje uteye igomwe bawuhinduye ubugaragwa bwatawe.
11 Umurima wanje wacitse agahinga,
Igihugu cose cagizwe umusaka,
ariko nta n’umwe abishirako umutima+.
12 Abahonya baje bazananye mu nzira zose zinoze zo mu gahinga,
kuko inkota ya Yehova iriko iratikiza mu gihugu cose+.
Nta n’umwe afise amahoro*.
13 Babivye ingano mugabo bimbura amahwa+.
Baruhiye ubusa.
Kubera ishavu rya Yehova rirurumba,
bazomaramazwa n’umwimbu wabo.»
14 Ibi ni vyo Yehova avuze: «Ku bijanye n’ababanyi banje bose b’ababisha, bakora ku ntoranwa nahaye abantu banje b’Abisirayeli+, ngira ndabarandure mu gihugu cabo+, kandi nzorandura Ubuyuda muri bo. 15 Ariko ninamara kubarandura, nzosubira kubagirira imbabazi, umwe wese muri bo ndamugarukane mu ntoranwa yiwe, mu gihugu ciwe.»
16 «Kandi nibiga ingeso z’abantu banje, bakiga no kurahira izina ryanje ngo: “Turahiye Yehova Imana nzima!”, kurya nyene bigishije abantu banje kurahira Bayali, bazoronka rero ikibanza mu bantu banje. 17 Mugabo nihagira ihanga ryanka kugamburuka, na ryo nzorirandura. Nzorirandura ndarihonye», ni ko Yehova avuze+.
13 Yehova ambwiye ati: «Genda ugure umukaba wo mu gitambara ciza*, uwukenyere mu kiyunguyungu, mugabo ntuwushire mu mazi.» 2 Nuko ngura uwo mukaba nk’uko Yehova yari yambwiye, maze ndawukenyera. 3 Yehova yongera kumbwira ati: 4 «Fata wa mukaba wagura, uwo nyene ukenyeye, uhaguruke uje kuri Efurate, uwunyegeze mw’ibuye ry’urutare ryasadutse.» 5 Nuko ndagenda ndawunyegeza iruhande ya Efurate, nk’uko Yehova yari yantegetse.
6 Mugabo inyuma y’imisi myinshi, Yehova ambwira ati: «Haguruka uje kuri Efurate, utore wa mukaba nagutegeka kunyegezayo.» 7 Nuko nja kuri Efurate, ndimba hanyuma ntora nya mukaba aho nari nawunyegeje, nsanga warononekaye, ata na kimwe ukimaze.
8 Yehova aca ambwira ati: 9 «Yehova avuze ati: “Ukwo nyene ni ko nzotikiza ubwishime bw’ababa mu Buyuda n’ubwishime bwinshi bw’ababa i Yeruzalemu+. 10 Abo bantu babi banka kugamburuka ivyo mvuga+, bagakurikira umutima wabo bwite babigiranye akagagazo+, bagakurikira izindi mana bakazikorera kandi bakazunamira, bazomera nk’uwo mukaba ata na kimwe ukimaze. 11 Kuko nk’uko umukaba ufata neza mu kiyunguyungu, ni ko natumye ihanga ryose rya Isirayeli n’Ubuyuda bwose bamatako”, ni ko Yehova avuze. “Nabigize kugira babe abantu banje+, batume mba rurangiranwa+, batume nshemezwa bongere batume mpabwa icubahiro. Mugabo ntibagamburutse+.”
12 Uze ubabwire n’ubu butumwa uti: “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Umubindi wose munini wuzuzwa umuvinyu.’” Na bo bazokwishura bati: “None ntidusanzwe tuzi yuko umubindi wose munini wuzuzwa umuvinyu?” 13 Uraca ubabwira uti: “Yehova avuze ati: ‘Ngira nuzuze akaborerwe ababa muri iki gihugu bose+, abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, abaherezi, abahanuzi n’ababa i Yeruzalemu bose. 14 Nzobasekanya ndabamenagure, baba ba sebibondo canke abana’, ni ko Yehova avuze+. ‘Sinzobagirira impuhwe canke akagongwe canke imbabazi. Nta na kimwe kizombuza kubahonya+.’”
15 Nimwumve kandi mutege ugutwi.
Ntimugire ubwibone kuko Yehova ari we avuze.
16 Nimuninahaze Yehova Imana yanyu
atarazana umwiza,
n’ibirenge vyanyu bitaratsitara ku misozi buhwibiriye.
17 Nimwanka kwumva,
nzoririra mu mpisho kubera ubwishime bwanyu.
18 Bwira umwami n’umugabekazi*+ uti: “Nimwicare mu kibanza giciye bugufi,
kuko urugori ruteye igomwe mwambaye ruzogwa.”
19 Ibisagara vyo mu bumanuko birugawe*, nta n’umwe avyugurura.
Abo mu Buyuda bose bajanywe mu bunyagano, nta n’umwe asigaye+.
20 Raramura amaso urabe abaje bavuye mu buraruko+.
Bwa busho bw’intama nziza wahabwa buri hehe+?
Mbega ntuzofatwa n’ibise nk’ivy’umugore ariko aribaruka+?
22 Niwibwira mu mutima uti: “Kubera iki ibi bintu vyanshikiye+?”
Uze umenye ko ari kubera ikosa ryawe rikomeye.
Ni co gituma wakuweko impuzu zawe+, ibitsintsiri vyawe bikagirirwa nabi.
23 Mbega Umukushi* yoshobora guhindura urukoba rwiwe, canke ingwe igahindura ukuntu isa+?
Nimba ivyo vyoshoboka, namwe rero mwoshobora gukora iciza,
mwebwe mwamenyereye gukora ikibi.
24 Nzobashwiragiza rero nk’ivyatsi biguruwe n’umuyaga wo mu bugaragwa+.
25 Ivyo ni vyo bizogushikira. Ni wo mugabane nakugeneye», ni ko Yehova avuze,
26 Ni co gituma nzoduza impuzu zawe ndazikurenze mu maso,
maze babone ubwambure bwawe+.
27 Ukurenga ibigo kwawe+, inambu yawe irenze urugero
n’ubumaraya bwawe buteye isoni,
na vyo nyene bazobibona.
Ingeso zawe zisesemye narazibonye+ ku mirambi no mu gahinga.
Uragowe Yeruzalemu we!
Uzoguma uhumanye gushika ryari+?»
14 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya ku vyerekeye ibihe vy’uruzuba+:
2 Ubuyuda buragandaye+, kandi amarembo yaho arayamye.
Yajonjogoye ashika hasi.
Hari amaborogo yumvikanye i Yeruzalemu.
3 Ba shebuja baho barungika abasuku* babo kuvoma amazi.
Barashika ku binogo vy’amazi* bakabura,
bakagarukana ibivomesho bigaragara.
Baramaramara bagataha zirayoye
kandi bitwikiriye mu mutwe.
4 Kubera ko ubutaka busataguritse
bivanye n’uko ata mvura igwa mu gihugu+,
abarimyi bihebuye, baritwikira mu mutwe.
5 N’impongokazi iri mw’ishamba yataye umwagazi ihejeje kuvyara,
kubera ata vyatsi biriho.
6 Indogobwa zo mw’ishamba zihagarara ku mirambi igaragara.
Zihezagirika nk’imbwebwe,
amaso yazo akayama kubera ata bimera biriho+.
Kuko ubuhemu bwacu ari bwinshi+,
kandi ni wewe twacumuyeko.
8 Ewe cizigiro ca Isirayeli, wewe umukiza+ mu bihe vy’amarushwa,
kubera iki umeze nk’umunyamahanga mu gihugu,
nk’ingenzi yatse indaro y’ijoro rimwe gusa?
9 Kubera iki umeze nk’umuntu ajorewe,
nk’umunyenkomezi adashoboye gukiza?
Ntuduhebe.
10 Ibi ni vyo Yehova avuze ku vyerekeye aba bantu: «Bakunda kuyerera+. Ibirenge vyabo ntibabigumiza hamwe+. Ni co gituma jewe Yehova ntabashima+. Ubu rero ngiye kwibuka ikosa ryabo, ngire ico ndababaza kubera ibicumuro vyabo+.»
11 Nuko Yehova ambwira ati: «Ntusengere aba bantu ubasabira iciza+. 12 Iyo bisonzesheje, sinumviriza ugutakamba kwabo+, kandi iyo bashikanye amashikanwa aturirwa uko yakabaye n’amashikanwa y’intete, ntampimbara+. Nzobamarisha inkota, inzara n’ikiza*+.»
13 Nca mvuga nti: «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Erega abahanuzi bababwira ngo: “Nta nkota muzobona, kandi nta nzara izobatera, ahubwo Imana izotuma mwibera amahoro vy’ukuri aha hantu+.”»
14 Maze Yehova ambwira ati: «Abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje+. Nta co nabatumye, nta co nabategetse, nta n’ico nababwiye+. Ukwerekwa kw’ibinyoma, ukuragura ata co kumaze n’ibinyoma bikuriye mu mutima, ni bwo buhanuzi bababwira+. 15 Ku bijanye n’abo bahanuzi bavuga ubuhanuzi mw’izina ryanje kandi ata co nabatumye, bakavuga yuko ata nkota canke inzara bizotera muri iki gihugu, ibi rero ni vyo jewe Yehova mvuze: “Abo bahanuzi bazorandurwa n’inkota n’inzara+. 16 Kandi abantu babwirwa ubwo buhanuzi bazoshiburirwa mu mabarabara ya Yeruzalemu kubera inzara n’inkota, ntihagire uwubahamba+, bo hamwe n’abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo. Nzobasukako ivyago bakwiriye+.”
17 Ukwiye kubabwira uti:
“Amaso yanje nagume atemba amosozi ijoro n’umurango+,
kuko abantu bo mw’ihanga ryacu* bamenaguritse bimwe bikomeye bongera baravunika+.
Bagize uruguma rukaze cane.
Naza mu gisagara,
nkahasanga abarwaye kubera inzara+.
Umuhanuzi n’umuherezi bagendagenda mu gihugu batazi+.”»
19 Mbega warataye Ubuyuda buhere? Warazinutswe Siyoni+?
Kubera iki none wadukubise ku buryo tudashobora gukira+?
Twari twiteze amahoro mugabo nta ciza cabonetse.
Twari twiteze igihe co gukira mugabo hari ubwoba bwinshi+.
Niwibuke isezerano wagiranye natwe, nturirengeko+.
22 Mbega mu bigirwamana ata co bimaze vyo mu mahanga, hari icoshobora kugwisha imvura?
Mbega ijuru ryoshobora gutanga imvura nyinshi atari wewe ubishatse?
None si wewe wenyene ubishoboye, ga Yehova Mana yacu+?
Kandi turakwizigiye,
kuko ari wewe wenyene wakoze ivyo bintu vyose.
15 Maze Yehova ambwira ati: «Naho Musa na Samweli boba bahagaze imbere yanje+, aba bantu sinobemera*. Bankure mu maso. Nibagende. 2 Nibakubaza bati: “Tuje hehe?”, uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati:
‘Uwugenewe ikiza cica, naje ku kiza cica!
Uwugenewe inkota, naje ku nkota+!
Uwugenewe inzara, naje ku nzara!
Uwugenewe kugirwa imbohe na we, naje kugirwa imbohe+!’”
3 Yehova avuze ati: “Nzobateza ivyago bine*+: inkota yo kwica, imbwa zo kuburuta, inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi birya bigahonya+. 4 Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+ kubera ivyo Manase mwene Hezekiya, umwami w’Ubuyuda, yakoze i Yeruzalemu+.
5 Ni nde azokwumvira impuhwe ga Yeruzalemu?
Ni nde azosangira nawe umubabaro?
Ni nde azohagarara ngo abaze uko umerewe?”
6 Yehova avuze ati: “Warantaye+.
Ni co gituma nzoramvura ukuboko ndakurwanye, ndaguhonye+.
Nduhijwe no kukwumvira akagongwe*.
7 Nzobagosoza igikanya mu marembo y’igihugu.
Nzobahekura+.
Nzorandura abantu banje,
kuko banse guhindukira ngo bahebe ingeso zabo+.
8 Imbere yanje, abapfakazi babo bazoba benshi kuruta umusenyi wo ku biyaga.
Nzobazanako uwubahonya mu masasita, ahonye ba inabibondo n’imisore.
Nzotuma bukwi na bukwi baja mu ruhagarara, baranduke umutima.
9 Umugore yavyaye abana indwi arayamye.
Arahemagirika.
Izuba ryiwe ryarenze hakibona,
bituma amaramara, arateterwa*.”
Yehova avuze ati: “Bakeyi basigaye muri bo
nzotuma bicwa n’inkota y’abansi babo+.”»
Sinatse ingurane canke ngo ndayitange,
mugabo bose baramvuma.
11 Yehova avuze ati: «Ni ukuri nzogukorera iciza.
Ni ukuri nzohaseruka ku bwawe nkurinde umwansi mu gihe c’ivyago,
mu gihe c’amarushwa.
12 Mbega hari uwovunagura icuma,
icuma kiva mu buraruko, akavunagura n’umujumpu?
13 Ivyo ufise n’amatunga yawe nzoreka abansi bawe babinyage+ ata co barishe.
Bazobitwara kubera ibicumuro vyawe vyose wakoreye mu turere twawe twose.
Kuko ishavu ryanje ryatumye umuriro waka,
kandi ni mwebwe uzoturira+.»
15 Ewe Yehova, urazi ivyanje.
Nunyibuke, unyiteho.
Abampama nubihore ku bwanje+.
Ntureke ngo mpone* kubera ko uteba gushavura.
Aka gacokoro umenye ko ndakikoreye kubera wewe+.
16 Amajambo yawe narayaronse ndayarya+.
Ijambo ryawe ryatumye umutima wanje wigina, uranezerwa
kuko nitirirwa izina ryawe, ewe Yehova Mana Nyeningabo!
17 Sinicarana n’abakunda kwiryohera ngo nezerwe+.
18 Kubera iki ububabare bwanje budahera, n’uruguma rwanje ntirukire?
Rwanse gukira.
Woba uzombera nk’isoko ry’amazi ryakamye*,
ridashobora kwizigirwa?
19 Yehova rero avuze ati:
«Niwagaruka nzokwakira,
uhagarare imbere yanje.
Niwatandukanya ibifise agaciro n’ibintu ata co bimaze,
uzombera umuvugizi*.
Abantu bazobwirizwa kukuzako,
mugabo wewe ntuzobajako.»
20 «Nkugize uruhome rukomeye rw’umujumpu imbere y’aba bantu+.
Bazokurwanya koko,
mugabo ntibazokunesha+,
kuko ndi kumwe nawe kugira ngo ndagukize ndakurokore», ni ko Yehova avuze.
21 «Nzokurokora ngukure mu kuboko kw’ababisha,
ndagucungure ngukure mu kiganza c’abantu b’imburakigongwe.»
16 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Ntuze urongore umugore, kandi ntuze uvyarire abahungu n’abakobwa aha hantu. 3 Kuko ku bijanye n’abahungu n’abakobwa bavukira aha hantu no ku bijanye na ba nyina babibaruka hamwe na ba se babavyarira muri iki gihugu, Yehova avuze ati: 4 “Bazokwicwa n’indwara zica+, ariko nta wuzobaririra canke ngo abahambe. Bazoba nk’intabire mu murima+. Bazomarwa n’inkota n’inzara+, kandi imivyimba yabo izoribwa n’inyoni zo mu kirere be n’ibikoko vyo kw’isi.”
5 Kuko Yehova avuze ati:
“Ntiwinjire mu nzu iriko itangirwamwo inzimano y’abagandaye,
ntuje kurirana na bo canke ngo usangire na bo umubabaro+.”
“Kuko nakuye amahoro yanje kuri aba bantu”, ni ko Yehova avuze,
6 Yaba uwuhambaye canke umuto, bose bazopfira muri iki gihugu.
7 Nta wuzoha ibifungurwa abagandaye
kugira abahoze kubera babuze.
Nta n’uwuzobaha igikombe c’umuvinyu wo kubirura
ngo bawunywe kubera babuze se canke nyina.
8 Ntukinjire mu nzu iriko itangirwamwo inzimano
ngo wicarane na bo, ngo urye wongere unywe.”
9 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ehe ngira nkure aha hantu ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, ndabigire mu gihe canyu n’imbere y’amaso yanyu+.”
10 Niwabwira aba bantu ayo majambo yose, bazokubaza bati: “Kubera iki Yehova yavuze ko azoduteza ivyo vyago vyose bikomeye? Ikosa twakoreye Yehova Imana yacu ni irihe? Igicumuro twamukoreye ni ikihe+?” 11 Uze ubishure uti: “Yehova avuze ati: ‘Ni kubera yuko ba sogokuruza banyu bampevye+, bakaguma bakurikira izindi mana, bakazikorera kandi bakazunamira+. Mugabo jewe barampevye, ntibakurikiza amategeko yanje+. 12 Mwakoze nabi cane kurusha ba sogokuruza banyu+. Umwe wese akurikira akagagazo k’umutima wiwe mubi, aho kungamburukira+. 13 Nzobakura muri iki gihugu ndabate mu gihugu mwe na ba sogokuruza banyu mutamenye+, kandi mugezeyo muzobwirizwa gukorera izindi mana umurango n’ijoro+, kuko ata buntu nzobagirira.’”
14 “Ariko rero mu misi iri mbere”, ni ko Yehova avuze, “ntibazosubira kuvuga ngo: ‘Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu ca Misiri+!’ 15 Ahubwo bazovuga ngo: ‘Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragijemwo!’ Nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza+.”
16 Yehova avuze ati: “Ngira ntumeko abarovyi benshi,
kandi bazobaroba.
Inyuma y’ivyo nzotumako abahigi benshi,
babahige ku misozi yose,
ku mirambi yose no mu mabuye y’urutare yasadutse.
17 Kuko amaso yanje abona ivyo bakora vyose*.
Ntibashobora kubimpisha,
kandi ikosa ryabo ndaribona.
18 Imbere ya vyose, nzobishura ibihuye neza n’ikosa ryabo n’igicumuro cabo+,
kuko igihugu canje bagihumanishije imivyimba* y’ibigirwamana vyabo bisesemye,
buzuza icibare canje ibintu bishisha+.”»
19 Ewe Yehova nkomezi zanje n’igihome canje gikomeye,
buhungiro bwanje ku musi w’amarushwa+,
amahanga azoza kuri wewe avuye ku mpera z’isi.
Azovuga ati: «Ba sogokuruza bacu barazwe ibinyoma vyeruye,
ibintu vy’ubusa bitagira akamaro+.»
21 «Ku bw’ivyo, nzobigisha bamenye.
Ubu hoho bazomenya ububasha bwanje n’ubushobozi bwanje,
kandi bazomenya vy’ukuri yuko nitwa Yehova.»
17 «Igicumuro c’Ubuyuda candikishijwe ikaramu* y’icuma.
Casaruwe ku mutima wabo
no ku mahembe y’ibicaniro vyabo hakoreshejwe isonga rya diyama.
2 Abahungu babo na bo bibuka ibicaniro vyabo n’inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+
vyari iruhande y’igiti gitotahaye, ku mirambi miremire+
3 no ku misozi yo mu gahinga.
Ibintu vyawe, amatunga yawe yose, nzoreka babisahure+.
Bazosahura ibiri mu bibanza vyawe vyo gusengeramwo* kubera igicumuro gikorerwa mu turere twawe twose+.
4 Uzoheba intoranwa nari naraguhaye, uyihebe ari wewe bivuyeko+.
Uzoguma waka ibihe vyose.»
5 Yehova avuze ati:
«Aravumwe umuntu* yizigira abantu buntu+,
akisunga ububasha bw’abantu*+,
umutima wiwe ukava kuri Yehova.
6 Azoba nk’igiti cirebanga mu bugaragwa.
Iciza nicaza ntazobibona,
ahubwo azoba ahantu hagadutse mu gahinga,
mu gihugu c’umunyu ata muntu ashobora kukibamwo.
8 Azoba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi,
gishora imizi yaco ku ruzi.
Ubushuhe nibwaza ntazobwumva,
ahubwo amababi yiwe azokwama atotahaye+.
Mu mwaka w’uruzuba ntazogira amaganya,
canke ngo areke kwama ivyamwa.
9 Umutima ni umuhemu* kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane*+.
Ni nde yowumenya?
10 Jewe Yehova nsesa umutima+,
ngasuzuma ivyiyumviro vy’ibwina*,
kugira ngo umwe wese ndamuhe ibihuye n’ingeso ziwe,
Acagatije ubuzima bwiwe, ubwo butunzi buzokwigira.
Amaherezo azoboneka ko ari imburabwenge.»
13 Ewe Yehova, cizigiro ca Isirayeli,
abaguta bose bazomaramara.
Abakuvako* bakaguheba* bazokwandikwa mw’ivu+,
kuko bagutaye wewe Yehova, wewe soko ry’amazi y’ubuzima+.
14 Ewe Yehova nkiza, nanje ndakira.
Ndokora ndarokoka+
kuko ari wewe nshemeza.
15 Erega hari abambwira ngo:
«Ivyo Yehova yavuze biri hehe+?
Nibiranguke.»
16 Mugabo jewe, sinahunze ngo ndeke kuba umwungere agukurikira,
canke ngo nipfuze umusi w’ivyago.
Urazi neza ivyo iminwa yanje yavuze.
Vyose vyabaye ubona.
17 Ntutume ntekerwa n’ubwoba.
Uri ubuhungiro bwanje ku musi w’ivyago.
Nibabe ari bo batekerwa n’ubwoba,
mugabo ntureke ngo ntekerwe n’ubwoba.
19 Yehova yambwiye ati: «Genda uhagarare mw’irembo nyamukuru* abami b’Ubuyuda bacamwo mu kwinjira no mu gusohoka, uhagarare no mu marembo yose ya Yeruzalemu+. 20 Ubabwire uti: “Nimwumve ivyo Yehova avuze, yemwe bami b’Ubuyuda namwe ababa mu Buyuda mwese n’i Yeruzalemu, mwinjirana muri aya marembo. 21 Yehova avuze ati: ‘Muragabe, ntihagire umutwaro mutwara ku musi w’isabato canke ngo muwinjize i Yeruzalemu muwucishije mu marembo yaho+. 22 Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato, kandi ntihagire igikorwa na kimwe mukora+. Umusi w’isabato mugume mubona ko ari mweranda, nk’uko nabitegetse ba sogokuruza banyu+. 23 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi. Babaye intagondwa* banka kugamburuka no gutozwa indero+.’”
24 “‘Mugabo nimwangamburukira vy’ukuri’, ni ko Yehova avuze, ‘ntihagire umutwaro mwinjiza muri iki gisagara muwucishije mu marembo yaco ku musi w’isabato kandi umusi w’isabato mukaguma mubona ko ari mweranda, ntimugire igikorwa na kimwe mukora kuri uwo musi+, 25 abami n’abaganwa* bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, na bo nyene bazokwinjira muri iki gisagara baciye mu marembo yaco. Bazohinjira bagendera ku mikogote no ku mafarasi, bo n’abaganwa babo, n’abagabo bo mu Buyuda be n’ababa i Yeruzalemu+. Kandi iki gisagara kizobamwo abantu ibihe vyose. 26 Abantu bazoza bavuye mu bisagara vy’Ubuyuda, mu micungararo ya Yeruzalemu, mu karere ka Benyamini+, mu karere k’imirambi+, mu misozi n’i Negebu*. Bazoza bazanye amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ibimazi+, amashikanwa y’intete+, imibavu*, n’ibimazi vyo gukenguruka, babizane mu nzu ya Yehova+.
27 Mugabo nimutangamburukira ngo umusi w’isabato mugume mubona ko ari mweranda, ngo mureke gutwara imitwaro no kuyinjiza i Yeruzalemu muyicishije mu marembo yaho ku musi w’isabato, nzoturira amarembo yaho, maze uwo muriro uturire koko iminara ikomeye y’i Yeruzalemu+, kandi ntuzozima+.’”»
18 Yehova yabwiye Yeremiya ati: 2 «Haguruka umanuke ku nzu y’umubumvyi+. Aho ni ho ndakubwirira amajambo yanje.»
3 Nuko manuka ku nzu y’umubumvyi, nsanga ariko arabumba*. 4 Mugabo ico yariko arabumba cononekarira mu maboko yiwe. Nuko uwo mubumvyi aca agikoramwo ikindi nk’uko agomba*.
5 Yehova yongera kumbwira ati: 6 «Jewe Yehova mvuze nti: “Mbega sinshoboye kubagirira nk’uwu mubumvyi, ga yemwe Bisirayeli? Nka kurya kw’ibumba mu maboko y’umubumvyi, ni ko namwe mumeze mu maboko yanje, yemwe Bisirayeli+! 7 Iyo mvuze ko nzorandura ihanga canke ubwami, nkarisitura nkarihonya+, 8 maze iryo hanga rigaheba ububisha bwaryo niyamirije, nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kuriteza ivyago+. 9 Mugabo iyo mvuze ko nzokwubaka ihanga canke ubwami, nkaritera rigashinga imizi, 10 maze rigakora ivyo mbona ko ari bibi ntirigamburuke ivyo mvuga, nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kurikorera ivyiza.”
11 Ndagusavye rero ubwire abagabo bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu uti: “Yehova avuze ati: ‘Ndiko ndabategurira* ivyago, niyumvira n’umugambi wo kubagirira nabi. Ndabasavye muhindukire muhebe ingendo yanyu mbi, muhindure ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu+.’”»
12 Mugabo bavuze bati: «Yaco wiruhishiriza ubusa+! Kuko tuzokwisunga ivyiyumviro vyacu bwite, kandi umwe wese muri twebwe azokurikira akagagazo k’umutima wiwe mubi+.»
13 Yehova rero avuze ati:
«Ndabasavye mubaze mu mahanga.
Hari ikintu nk’ico mwari bwumve?
Umwigeme w’isugi wa Isirayeli yarakoze ikintu giteye ikinya bimwe bidasanzwe+.
14 Mbega shelegi* yo ku misozi y’i Libani, yoba ikamangana ikava ku bitandara vyaho?
Canke amazi apfutse atemba ava kure, yoba yokama?
15 Ariko abantu banje baranyibagiye+
kuko bashikanira ibimazi* ikintu ata co kimaze+,
bagatsitaza abantu mu nzira bacamwo, mu nzira za kera+,
kugira ngo bagendere mu tuyira turimwo ibinogo, tutaringaniye*.
16 Ivyo babigira kugira ngo igihugu cabo gihinduke akajoreza+,
ikintu co kuvugiriza agahwa ibihe bidahera+.
Uwo wese azoca iruhande yaco, azocitegereza ajorewe, azunze umutwe+.
17 Nzobashwiragiza imbere y’umwansi nka kurya kw’umuyaga wo mu buseruko.
Ku musi w’ivyago vyabo nzobaha umugongo, aho kubaraba*+.»
18 Nuko bavuga bati: «Nimuze twiyumvire ingene twogirira nabi Yeremiya+, kuko abaherezi bacu ari bo bazobandanya kutwigisha amategeko*, inkerebutsi zacu zikabandanya kuduha impanuro, abahanuzi bacu na bo bakabandanya kutubwira ijambo ry’Imana. Nimuze tumuvuge nabi*, n’ivyo avuga ntituvyumvirize.»
19 Ewe Yehova, nunyumvirize,
utege ugutwi ivyo abandwanya bavuga.
20 Mbega ineza yokwishurwa inabi?
Kuko banyimbiye icobo+.
Niwibuke ingene nahagaze imbere yawe kugira ndabavugire
ngo ntubarakire.
Abagore babo nibahekurwe kandi bapfakare+.
Abagabo baho nibicwe n’ikiza cica,
imisore yabo na yo yicwe n’inkota ku rugamba+.
22 Mu mazu yabo nihumvikane akaruru
niwabazanako abambuzi babatera giturumbuka.
Kuko bimvye icobo kugira bamfate,
kandi bateze imitego ibirenge vyanje+.
Ntubabarire ikosa ryabo,
kandi ntuhanagure igicumuro cabo ngo kive imbere yawe.
19 Yehova yavuze ati: «Ja ku mubumvyi+, ugure agakarabo ko mw’ibumba. Uce utora abashingantahe ukuye mu banyagihugu n’abo ukuye mu baherezi, 2 uheze uje mu mubande wa mwene Hinomu+ ku bwinjiriro bw’irembo ry’umubumvyi. Maze uhatangarize ivyo ndakubwira. 3 Uvuge uti: “Nimwumve ijambo rya Yehova, yemwe bami b’Ubuyuda n’ababa i Yeruzalemu. Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati:
‘Ngira nzane ivyago aha hantu. Uwuzovyumva wese iminzerere izomuvugira mu matwi. 4 Nzobigira kubera bampevye+, bagatuma aha hantu ntaba ngishobora kuhamenya+. Ni ho bashikanira ibimazi izindi mana, imana bo na ba sekuruza babo n’abami b’Ubuyuda batigeze bamenya, kandi bujuje aha hantu amaraso y’abantu b’intungane+. 5 Bubakiye Bayali ibibanza vyo gusengeramwo* kugira bahaturirire abahungu babo, nk’amashikanwa aturirwa uko yakabaye ashikanirwa Bayali+. Ico ni ikintu ntabategetse canke ngo mvuge, kandi kitigeze kinza no mu mutima*+.’”
6 “‘Ku bw’ivyo nimwumve. Mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘aha hantu ntihazoba hacitwa Tofeti canke umubande wa mwene Hinomu, ahubwo hazosigara hitwa umubande w’amacuniro+. 7 Imigambi abo mu Buyuda n’ab’i Yeruzalemu bateguye nzoyihindurira ubusa aha hantu, kandi nzotuma bagwishwa n’inkota imbere y’abansi babo bongere bagwe mu maboko y’abarondera kubica. Imivyimba yabo nzoyiha inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, biyirye+. 8 Iki gisagara nzotuma kiba akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa. Uwo wese azoca iruhande yaco azocitegereza ajorewe, avuze agahwa kubera ivyago vyose vyahashikiye+. 9 Nzotuma barya abahungu babo n’abakobwa babo, kandi umwe wese azorya mugenziwe kubera ukwugarizwa n’ukwihebura igihe bazoba basugerejwe n’abansi babo be n’abarondera kubica+.’”
10 Uze guca usavya ka gakarabo imbere y’abagabo muzoba mwajanye. 11 Maze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Uku ni ko nzosavya aba bantu n’iki gisagara, nk’uko umuntu asavya ikibumbano ku buryo kitazokwigera gisanasanwa. Bazohamba abapfuye i Tofeti gushika aho ata kibanza co kubahambamwo gisigara+.’”
12 “Ukwo ni ko nzogirira aha hantu n’abahaba”, ni ko Yehova avuze, “kugira ngo ntume iki gisagara kimera nk’i Tofeti. 13 Kandi amazu y’i Yeruzalemu n’amazu y’abami b’Ubuyuda azohumana nk’aha i Tofeti+, emwe, amazu yose bahora bashikanirako ibimazi ingabo zose zo kw’ijuru+ bari ku gisenge*, bakongera bakahasukira amashikanwa y’ibinyobwa bayaha izindi mana+.”»
14 Yeremiya agarutse avuye i Tofeti aho Yehova yari yamutumye kuvuga ubuhanuzi, ahagarara mu rugo rw’inzu ya Yehova maze abwira abantu bose ati: 15 «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira nzane kuri iki gisagara no ku bisagara vyose bihakikuje ivyago vyose navuze ko nzohateza, kubera ko babaye intagondwa, banka kugamburuka* ivyo ndababwira+.”»
20 Pashuri mwene Imeri, umuherezi, akaba kandi yari icariho kizigenza mu nzu ya Yehova, yariko arumviriza igihe Yeremiya yavuga ayo majambo y’ubuhanuzi. 2 Pashuri aca akubita umuhanuzi Yeremiya, yongera amushira mu mpatane z’ibiti+ zari kw’irembo ryitwa irembo ryo haruguru rya Benyamini, ryari hafi y’inzu ya Yehova. 3 Mugabo ku musi ukurikira, Pashuri akura Yeremiya muri nya mpatane z’ibiti, maze Yeremiya amubwira ati:
«Yehova ntakikwise Pashuri, mugabo akwise “Iterabwoba irya n’ino+.” 4 Kuko Yehova avuze ati: “Nzotuma uba ikintu gituma wewe n’abagenzi bawe bose mugira ubwoba, kandi bazokwicwa n’inkota y’abansi babo urorera+. Nzotuma umwami wa Babiloni atsinda Ubuyuda bwose, ababayo abajane mu bunyagano i Babiloni, abicishe inkota+. 5 Nzoha abansi babo ibintu vyose vyo muri iki gisagara, ubutunzi bwaco bwose, ibintu vy’agaciro vyaco vyose n’amatunga yose y’abami b’Ubuyuda+. Bazobisahura maze babifate babijane i Babiloni+. 6 Nayo wewe ga Pashuri hamwe n’ababa mu nzu yawe bose, muzojanwa kugirwa imbohe. Uzoja i Babiloni maze upfireyo, kandi ni yo uzohambwa mwe n’abagenzi bawe bose, kuko wababwiye ubuhanuzi bw’ibinyoma+.”»
7 Ewe Yehova, warampenze ndahendeka.
Warandushije inkomezi, uratsinda+.
Basigaye bangira agatwengo bukarinda bwira.
Nabaye akamenyo kuri bose+.
8 Kuko igihe cose mvuze, ntegerezwa gusemerera, nkatangaza nti:
«Hari ubukozi bw’ikibi n’agatikizo!»
Kubera ijambo rya Yehova, barantuka, bakancokora bukarinda bwira+.
Mugabo mu mutima wanje ijambo ryiwe ryabaye nk’umuriro ururumba, wugaraniwe mu magufa yanje.
Naruhishijwe no kuwigumizamwo,
sinashobora kuguma ndawihanganiye+.
Bavuga bati: «Nimuvuge ivyiwe. Nimuze tubivuge.»
Abantu bose banyipfuriza amahoro, baba bareretse ko notemba+.
Bavuga bati: «Hari aho yokwihenda agakora ikosa,
natwe tukamutsinda, tukamwihora.»
11 Mugabo Yehova yari kumwe nanje nk’umurwanyi ateye ubwoba+.
Ni co gituma abampama bazotsitara, kandi ntibazotsinda+.
Bazomaramara bimwe bikomeye kuko batazokwererwa.
Agateterwe kamaho bazogira ntikazokwibagirana+.
12 Mugabo wewe Yehova Nyeningabo, urasuzuma umugororotsi.
13 Nimuririmbire Yehova! Nimushemeze Yehova!
Kuko yarokoye umworo mu maboko y’inkozi z’ikibi.
14 Umusi navukiyeko urakavumwa!
Umusi mawe yamvyariyeko ntugahezagirwe+!
15 Arakavumwa umuntu yazaniye inkuru nziza dawe, akamubwira ati:
«Uvyaye umwana w’umuhungu!»,
bigatuma anezerwa cane.
16 Uwo muntu arakamera nk’ibisagara Yehova yatembagaje ntiyicuze.
Aze yumve amaborogo mu gitondo n’akaruru k’intambara sasita.
18 Kubera iki navuye mu nda ya mawe
kugira mbone amagorwa n’intuntu,
ngo nsozere imisi y’ubuzima bwanje mu bimaramare+?
21 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya, igihe umwami Zedekiya+ yamutumako Pashuri+ mwene Malikiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, ngo bamusabe iki kintu: 2 «Turakwinginze utubarize Yehova kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aduteye+. Hari aho Yehova yodukorera igitangaza, uwo mwami akatuviraho+.»
3 Yeremiya ababwira ati: «Genda mubwire Zedekiya muti: 4 “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ngira ndabahindukirizeko ibirwanisho mufise, muriko murarwanisha umwami wa Babiloni+ n’Abakaludaya bari inyuma y’uruzitiro babugarije. Nzobakoraniriza hagati muri iki gisagara. 5 Mwebwe nzobarwanya jewe ubwanje+ nkoresheje ukuboko kw’ububasha* kandi gukomeye. Nzobigira nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+. 6 Nzokwica ababa muri iki gisagara, abantu n’ibikoko, bicwe n’ikiza* gikomeye+.’”
7 “‘Kandi inyuma y’ivyo’, ni ko Yehova avuze, ‘Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasuku biwe n’abantu bo muri iki gisagara, ni ukuvuga abo bose bazoba barokotse ikiza, inkota n’inzara, nzoreka batsindwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abansi babo n’abarondera kubica+. Azobicisha inkota. Ntazobumvira akagongwe canke ngo abagirire impuhwe canke imbabazi+.’”
8 Abo bantu na bo uze ubabwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe nshize imbere yanyu inzira y’ubuzima n’inzira y’urupfu. 9 Abazoguma muri iki gisagara bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza. Mugabo uwo wese azogenda akishikana ku Bakaludaya babugarije, azobaho, akize* ubuzima bwiwe+.’”
10 “‘Kuko niyemeje kuzana ivyago kuri iki gisagara* aho kukizanako ivyiza+’, ni ko Yehova avuze. ‘Kizoneshwa n’umwami wa Babiloni+, kandi azogiturira+.’
11 Mwebwe abo mu rugo rw’umwami w’Ubuyuda, nimwumve ivyo Yehova avuze. 12 Yemwe abo mu muryango wa Dawidi, Yehova avuze ati:
‘Nimukurikize ubutungane buri musi,
uwamburwa mumukize uwumwambura*+.
Ahandiho uburake bwanje buzorurumba nk’umuriro+,
bwake habure uwo kubuzimya
kubera ibikorwa vyanyu bibi+.’”
13 “Yemwe ababa mu kiyaya, ewe gitandara co mu karere gashashe,
ngira ndabatere”, ni ko Yehova avuze.
“Nayo mwebwe muvuga ngo: ‘Ni nde azomanuka kudutera?
Ni nde azoza aho tuba ngo aturwanye?’
“Kandi nzokwatsa umuriro mu kibira canyu,
uturire ibintu vyose biri irya n’ino yanyu bitokombere+.”»
22 Yehova avuze ati: «Manuka ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda, umushikirize ubu butumwa. 2 Uvuge uti: “Niwumve ivyo Yehova avuze, yewe mwami w’Ubuyuda wicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, wewe n’abasuku bawe n’abantu bawe binjirana muri aya marembo. 3 Yehova avuze ati: ‘Nimukurikize ubutungane n’ubugororotsi. Uwamburwa nimumukize uwumwambura*. Ntimufate nabi umunyamahanga n’umwe canke ngo hagire impfuvyi* canke umupfakazi mugirira nabi+. Ntimusese amaraso y’intungane aha hantu+. 4 Kuko nimwitwararika gushitsa amajambo ndababwiye, abami bicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ bazoheza rero binjire muri iki kirimba baciye mu marembo yaco. Bazohinjira bagendera mu mikogote no ku mafarasi bo n’abasuku babo n’abantu babo+.’”
5 “Mugabo nimutakurikiza ayo majambo, ndirahiye ubwanje yuko iki kirimba kizotikizwa+”, ni ko Yehova avuze.
6 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze ku bijanye n’ikirimba c’umwami w’Ubuyuda:
“Kuri jewe umeze nka Gileyadi,
nk’isonga rya Libani.
Mugabo nzotuma usigara uri ubugaragwa
kandi nta gisagara cawe na kimwe kizobamwo abantu+.
Bazokwicira amasederi yawe mezameza,
bayaterere mu muriro+.
8 Amahanga menshi azoca iruhande y’iki gisagara, abazanye ati: ‘Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gisagara gikomeye+?’ 9 Maze bazobishura bati: ‘Ni kubera yuko bataye isezerano rya Yehova Imana yabo, bunamira izindi mana barazikorera+.’”
10 Ntimuririre uwapfuye,
kandi ntimumwumvire umubabaro.
Ahubwo nimuririre cane uwugiye mu bunyagano,
kuko atazosubira kugaruka ngo abone igihugu c’amavukiro.
11 Kuko ku bijanye na Shalumu*+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza mu kibanza ca se Yosiya+, akaba yaravuye aha hantu, Yehova avuze ati: “Ntazokwongera kuhagaruka. 12 Ahantu bamujanye mu bunyagano ni ho azopfira, kandi ntazokwongera kubona iki gihugu+.”
13 Aragowe uwubaka inzu yiwe mugabo ntayubake mu bugororotsi,
akubaka n’ivyumba vyiwe vyo hejuru mugabo ntavyubake mu butungane,
agakoresha mugenziwe kuri gusa,
ntamuhembe+.
14 Aragowe uwuvuga ati: “Nzokwiyubakira inzu yagutse
ifise ivyumba vyo hejuru bininibinini.
Nzoyishirako amadirisha,
ndayomekeko imbaho z’isederi, ndayisige ibara ritukura.”
15 Mbega uzobandanya kuganza ngo ni uko urusha abandi gukoresha amasederi?
16 Yaraburanira agateka k’umurushwa n’umworo
ku buryo ibintu vyagenda neza.
“None ico si co bisobanura kumenya jewe?”, ni ko Yehova avuze.
17 “Mugabo wewe amaso yawe n’umutima wawe nta kindi birondera atari inyungu mbi,
gusesa amaraso y’intungane,
gukoresha uruyeri no kunyaga.”
18 Ibi rero ni vyo Yehova avuze ku bijanye na Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda:
“Ntibazomugandarira umwe wese abwira uwundi ngo:
‘Yoo, mwenewacu! Yoo, mushikanje!’
Ntibazonamugandarira bavuga ngo:
‘Yoo, databuja! Yoo, nyakwubahwa!’
21 Naravuganye nawe igihe wumva ko utekaniwe.
Mugabo wavuze uti: “Sinzogamburuka+.”
Ukwo ni ko wamye kuva mu buto bwawe,
kuko utigeze wumvira ijwi ryanje+.
Uzoheza rero umaramare, uteterwe kubera ivyago vyose bizogushikira.
ukaba wubatse icari mu masederi+,
ese ukuntu uzoniha niwafatwa n’imisonga,
24 «Yehova avuze ati: “Ndirahiye jewe Imana nzima, yuko naho wewe Koniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, woba wari impeta y’ikidodo nambaye ku kuryo, nohagushikuye! 25 Nzotuma ugwa mu maboko y’abarondera kukwica, mu maboko y’abo utinya, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni no mu maboko y’Abakaludaya+. 26 Wewe na nyoko yakuvyaye nzobaterera mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi ni yo muzopfira. 27 Ntimuzokwigera mugaruka mu gihugu mukumbuye cane*+.
28 Mbega uyu mugabo Koniya yoba ari ikibumbano gusa gisuzuguritse, camenaguwe,
icombo ata n’umwe yipfuza?
Kubera iki we n’abamukomokako bazotererwa hasi,
bagashiburirwa mu gihugu batazi+?”
29 Ewe wa si* we, wa si we, wa si we, niwumve ijambo rya Yehova.
30 Yehova avuze ati:
“Nimwandike ko uyu mugabo ata bana agira,
ko atazopfa aroraniwe mu buzima bwiwe*,
kuko ata n’umwe mu bamukomokako
azoshobora kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi ngo asubire kuganza mu Buyuda+.”»
23 Yehova avuze ati: «Baragowe abungere bariko barahonya bakongera bagasanzaza intama zo mw’itongo ryanje ryo kuragiramwo+!»
2 Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bungere baragira abantu biwe: «Mwarasanzaje intama zanje. Mwagumye muzishwiragiza, ntimwazitaho+.
Ngira rero niteho ivyanyu kubera ibikorwa vyanyu bibi», ni ko Yehova avuze.
3 «Nzoca nkoraniriza hamwe intama zanje zisigaye, ndazikuye mu bihugu vyose nazishwiragijemwo+. Nzozigarukana aho zahora ziragirirwa+ maze zirondoke, zigwire+. 4 Nzozironderera abungere bazoziragira neza+. Ntizizokwongera gutinya canke ngo ziranduke umutima, kandi nta n’imwe izobura», ni ko Yehova avuze.
5 «Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+. Hari umwami azoganza+ kandi azokorana ubukerebutsi, ashigikire ubutungane n’ubugororotsi mu gihugu+. 6 Mu gihe ciwe Ubuyuda buzokizwa+ na Isirayeli yibere mu mutekano+. Azokwitwa: Yehova ni we bugororotsi bwacu+.»
7 «Ariko rero mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze, «ntibazosubira kuvuga ngo: “Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye Abisirayeli mu gihugu ca Misiri+!” 8 Ahubwo bazovuga ngo: “Ndahiye Yehova Imana nzima yakuye abakomoka ku Bisirayeli mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragijemwo, akabagarukana.” Bazoba mu gihugu cabo bwite+.»
9 Ku vyerekeye abahanuzi, mvuze nti:
Umutima wanje wajanjaguritse.
Amagufa yanje yose ariko aranyiganyiga.
Meze nk’umuntu yaborewe,
nk’umuntu yarengewe n’umuvinyu,
kubera Yehova no kubera amajambo yiwe meranda.
Ingeso zabo ni mbi, kandi bakoresha nabi ububasha bafise.
11 Yehova avuze ati: «Umuhanuzi n’umuherezi bompi barahumanye*+.
No mu nzu yanje nasanzeyo ububisha bwabo+.»
Nzobazanako ivyago
umwaka ivyabo bizorabwa», ni ko Yehova avuze.
13 «Hari ikintu gishisha nabonye mu bahanuzi b’i Samariya+.
Bavuga ubuhanuzi mw’izina rya Bayali,
bakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.
14 Hari ibintu biteye ikinya nabonye mu bahanuzi b’i Yeruzalemu.
Bararenga ibigo+, bakagendera mu kinyoma+.
Baremesha inkozi z’ikibi*,
kandi nta n’umwe aheba ububisha bwiwe.
15 Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze ku bahanuzi:
«Ngira ndabarishe ibirura,
ndabanyweshe n’amazi arimwo ishano+.
Kuko abahanuzi b’i Yeruzalemu batumye mu gihugu cose hakwiragira agatima ko guheba Imana*.»
16 Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Ntimwumvirize ivyo abahanuzi bababwira+.
Barabahenda*.
Abakurikira umutima wabo w’intagondwa bababwira ngo:
“Nta vyago bizobashikira+.”
18 Mbega ni nde yahagaze mu mugwi w’abagenzi somambike ba Yehova
ngo abone yongere yumve ijambo ryiwe?
Ni nde yitayeho ijambo ryiwe kugira ngo aryumve?
19 Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi.
Uzozungurukira ku mutwe w’ababisha nka kurya kw’ikivumbuzi+.
20 Ishavu rya Yehova ntirizosubira inyuma
adashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa.
Mu misi y’iherezo muzobitahura neza.
21 Sinatumye abahanuzi, yamara barirutse.
Sinavuganye na bo, yamara baravuze ubuhanuzi+.
22 Mugabo iyo bahagarara mu mugwi w’abagenzi banje somambike,
baba rero baratumye abantu banje bumva amajambo yanje,
kandi baba baratumye baheba ingeso zabo mbi n’ibikorwa vyabo bibi+.»
23 «Mbega ndi Imana igihe gusa ndi hafi, simbe Imana igihe ndi kure?», ni ko Yehova abajije.
24 «Mbega hari umuntu yokwinyegeza mu kibanza cihishije sindamubone+?», ni ko Yehova abajije.
«Mbega sinuzuye ijuru n’isi+?», ni ko Yehova abajije.
25 «Narumvise abahanuzi bavuga ubuhanuzi bw’ikinyoma mw’izina ryanje, ngo: “Narose! Narose+!” 26 Mbega abahanuzi bazoguma biyumvira mu mutima wabo kuvuga ubuhanuzi bw’ikinyoma gushika ryari? Bavuga ubuhanuzi bw’ububeshi bakuye mu mutima wabo+. 27 Barondera kwibagiza abantu banje izina ryanje biciye ku ndoto babwirana, nk’uko ba se bibagiye izina ryanje kubera Bayali+. 28 Umuhanuzi yarose navuge ivyo yarose, mugabo uwufise ijambo ryanje, narivuge mu kuri.»
«Mbega ibikumbi wobigereranya n’intete?», ni ko Yehova abajije.
29 «Mbega ijambo ryanje ntirimeze nk’umuriro+, rikamera kandi nk’inyundo y’umucuzi imenagura urutare+?», ni ko Yehova abajije.
30 «Ngira rero ndwanye abahanuzi biba amajambo yanje, umwe wese akayiba mugenziwe+», ni ko Yehova avuze.
31 «Ngira ndwanye abahanuzi», ni ko Yehova avuze, «bamwe bakoresha ururimi rwabo bavuga bati: “Ng’ibi ivyo yavuze+!”»
32 «Ngira ndwanye abahanuzi barotora indoto z’ikinyoma», ni ko Yehova avuze, «bamwe bazivuga maze bakazimiza abantu banje kubera ibinyoma vyabo n’ukwirata kwabo+.»
«Mugabo sinabatumye canke ngo ngire ico ndabategeka. Ni co gituma ata na kimwe bazomarira aba bantu+», ni ko Yehova avuze.
33 «Kandi aba bantu canke umuhanuzi canke umuherezi nibakubaza bati: “Umuzigo* wa Yehova udufitiye ni uwuhe?” Uze ubishure uti: “Yehova avuze ati: ‘Umuzigo ni mwebwe. Nzobikurako+.’” 34 Nayo umuhanuzi canke umuherezi canke uwundi muntu avuga ngo: “Ubutumwa bwa Yehova ni umuzigo*!”, nzokwitaho ivyiwe n’urugo rwiwe. 35 Umwe wese aguma abaza mugenziwe na mwenewabo ngo: “Yehova yishuye iki? Yehova yavuze iki?” 36 Ntimuze musubire kuvuga ko ubutumwa bwa Yehova ari umuzigo, kuko amajambo umwe wese muri mwebwe avuga ari yo muzigo*, kandi mwarahinduye amajambo y’Imana nzima, Yehova Nyeningabo, Imana yacu.
37 Umuhanuzi uze umubaze uti: “Yehova yakwishuye iki? Yehova yavuze iki? 38 Muguma muvuga ngo: ‘Ubutumwa bwa Yehova ni umuzigo.’ Nimwabibandanya, Yehova avuze ati: ‘Kubera ko muvuga ngo: “Ijambo rya Yehova ni umuzigo*”, kandi narababujije kuvuga ngo: “Ijambo rya Yehova ni umuzigo*!”, 39 nzobaterura ndabate kure mumve imbere, mwebwe n’igisagara nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu. 40 Nzotuma mugira ibimaramare vyamaho n’agateterwe kamaho katazokwibagirana+.’”»
24 Maze Yehova anyereka ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rwa Yehova. Hari inyuma y’aho Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ajaniye mu bunyagano Yekoniya*+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abatware* bo mu Buyuda n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*. Yabakuye i Yeruzalemu abajana i Babiloni+. 2 Igisimbo kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni zeze kare. Mugabo ikindi gisimbo carimwo insukoni mbi cane. Zari mbi ku buryo zitashobora kuribwa.
3 Nuko Yehova ambaza ati: «Ubona iki ga Yeremiya?» Nanje nti: «Insukoni. Insukoni nziza ni nziza cane, mugabo insukoni mbi ni mbi cane. Ni mbi ku buryo zidashobora kuribwa+.»
4 Maze Yehova ambwira ati: 5 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze : “Cokimwe n’izo nsukoni nziza, nzoraba ryiza abo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano, abo nirukanye aha hantu bakaja mu gihugu c’Abakaludaya. 6 Nzobagumizako ijisho kugira ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu+. Nzobubaka, sinzobasambura. Nzobateragira, sinzobarandura+. 7 Nzotuma bagira umutima wipfuza kumenya jewe, yuko ndi Yehova+. Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.
8 Mugabo ku bijanye n’izo nsukoni mbi cane ku buryo zidashobora kuribwa+, Yehova avuze ati: ‘Uko bazifata ni ko nzofata Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda n’abatware* biwe n’abantu b’i Yeruzalemu barokotse, baba abakiri muri iki gihugu canke abari mu gihugu ca Misiri+. 9 Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+ kubera ivyago nzobateza. Nzotuma bacokorwa, babe iciro ry’umugani, akamenyo n’umuvumo+, ahantu hose nzobashwiragiriza+. 10 Nzobarungikamwo inkota+, inzara n’ikiza*+, gushika bahonye mu gihugu nabahaye bo hamwe na ba sekuruza babo.’”»
25 Ng’aya amajambo Imana yabwiye Yeremiya ku vyerekeye abantu bose bo mu Buyuda. Hari mu mwaka ugira kane Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza, ukaba wari umwaka wa mbere Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aganza. 2 Ibi ni vyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye* abantu bose bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu bose:
3 «Kuva mu mwaka ugira 13 Yosiya+ mwene Amoni umwami w’Ubuyuda aganza, gushika n’uyu musi, haraciye imyaka 23 Yehova avugana nanje. Nagumye ndababwira incuro n’izindi* ivyo yantumye, mugabo ntimwumvirije+. 4 Yehova yarabatumyeko abasavyi biwe bose b’abahanuzi, akabatuma incuro n’izindi*, mugabo ntimwumvirije canke ngo mutege ugutwi+. 5 Bababwira bati: “Enda nimuhindukire, umwe wese ahebe ingeso ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi+. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu jewe Yehova nabahaye mwe na ba sogokuruza kuva kera, mukibemwo igihe kirekire. 6 Ntimukurikire izindi mana ngo muzikorere canke ngo muzunamire. Ntimumbabaze kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, ahandiho nzobateza ivyago.”
7 “Mugabo ntimwanyumvirije”, ni ko Yehova avuze. “Ahubwo mwarambabaje kubera ibikorwa vy’amaboko yanyu, mwikwegera ivyago+.”
8 Yehova Nyeningabo rero avuze ati: “Kubera ko mutagamburutse amajambo yanje, 9 ngira ntumeko imiryango yose yo mu buraruko+”, ni ko Yehova avuze, “ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzobazana batere iki gihugu+, abakibamwo n’amahanga yose agikikuje+. Nzotikiza iki gihugu n’aya mahanga, bicike akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa. Bizosigara ari ibihomvagurike ibihe vyose. 10 Nzohagarika muri ivyo bibanza ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni+, urwamo rw’urusyo* n’umuco w’itara. 11 Iki gihugu cose kizosigara ari ibihomvagurike, gicike akajoreza, kandi ayo mahanga azotegerezwa gukorera umwami wa Babiloni imyaka 70+.”
12 “Mugabo iyo myaka 70 niyakwira+, nzohana umwami wa Babiloni n’iryo hanga kubera ikosa ryabo+”, ni ko Yehova avuze. “Nzotuma igihugu c’Abakaludaya gicika umusaka ibihe vyose+. 13 Nzoshitsa kuri ico gihugu ivyo nakivuzeko vyose, ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu Yeremiya yavuze ko bizoshikira amahanga yose. 14 Kuko bazogirwa abashumba+ n’amahanga menshi be n’abami bakomeye+, kandi nzobishura ibihwanye n’ivyo bakora, ibihwanye n’ibikorwa vy’amaboko yabo+.”»
15 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli yambwiye ati: «Akira mu kuboko kwanje iki gikombe c’umuvinyu w’uburake, ukinyweshe amahanga yose ngira ndagutumeko. 16 Bazonywa bagende bicako, bamere nk’abasazi, kubera inkota ngira ndabarungikemwo+.»
17 Nuko ntora ico gikombe mu kuboko kwa Yehova hanyuma ndakinywesha amahanga yose Yehova yandungitseko+. 18 Nahereye kuri Yeruzalemu n’ibisagara vyo mu Buyuda+, abami baho n’abatware baho, kugira ngo bitikizwe, bicike akajoreza, bibe ikintu co kuvugiriza agahwa, bisigare ari umuvumo+, nk’uko bigira bibe. 19 Hakurikiye Farawo umwami wa Misiri, abasuku biwe, abatware biwe, abantu biwe bose+ 20 n’abanyamahanga bose babayo. Ico gikombe nakinywesheje n’abami bose bo mu gihugu ca Uzi, abami bose bo mu gihugu c’Abafilisitiya+: uw’i Ashikeloni+, i Gaza, i Ekuroni n’uw’abasigaye i Ashidodi. 21 Harimwo n’Abanyedomu+, Abanyamowabu+, Abamoni+, 22 abami bose b’i Tiro, abami bose b’i Sidoni+, abami bo mw’izinga riri mu kiyaga, 23 abantu b’i Dedani+, i Tema, i Buzu, abantu bose bafise imisaya imoye+, 24 abami bose b’Abarabu+ n’abami bose batwara abantu batandukanye baba mu bugaragwa. 25 Harimwo kandi abami bose b’i Zimuri, abami bose b’i Elamu+, abami bose b’Abamedi+, 26 abami bose bo mu buraruko ba hafi n’aba kure, umwumwe ukwiwe, n’ubundi bwami bwose bwo kw’isi. Umwami w’i Sheshaki*+ ni we azonywa ubwa nyuma.
27 «Uze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimunywe muborerwe, mudahwe, mutembe, ku buryo mudashobora guhaguruka+ kubera inkota ngira ndabarungikemwo.’” 28 Nibanka gutora nya gikombe mu kuboko kwawe ngo banywe, uzobabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Mutegerezwa kunywa. 29 Honyene ngira ntangure guteza ivyago igisagara citirirwa izina ryanje+, none mwebwe mwogenda mudahanywe+?’”
“Ntimuzogenda mudahanywe, kuko ngira ndungike inkota ku baba kw’isi bose”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
30 Uze ubabwire aya majambo yose y’ubuhanuzi uti:
“Yehova azoroha nk’intambwe ari iyo hejuru,
yumvikanishe ijwi ryiwe ari ahantu heranda aba.
Azoroha cane nk’intambwe, arohere ikibanza ciwe co kubamwo co kw’isi.
Azovuza akaruru nk’abariko baragana* umuvinyu,
aririmbe indirimbo y’intsinzi yigamba ku baba kw’isi bose.”
31 Yehova avuze ati: “Hazokwumvikana urwamo gushika ku mpera z’isi,
kuko Yehova afitaniye imburano n’amahanga.
We ubwiwe azocira urubanza abantu bose*+.
Abanyakibi azobicisha inkota.”
32 Yehova Nyeningabo avuze ati:
“Ehe ivyago biriko biva mw’ihanga rimwe bija mu rindi+,
kandi igihuhusi gikomeye kigira caduke kivuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
33 Kuri uwo musi, abishwe na Yehova bazokwuzura isi yose. Nta wuzobaririra canke ngo abegeranye canke ngo abahambe. Bazoba nk’intabire isanzaye kw’isi.”
34 Nimuboroge mwa bungere, musemerere!
Nimwikumbagaze hasi, yemwe banyacubahiro bo mu busho,
kuko igihe c’uko mukererwa n’igihe c’uko mushwiragizwa kigeze,
kandi muzogwa mumenagurike nk’icombo c’agaciro.
35 Abungere nta ho bafise bahungira,
abanyacubahiro bo mu busho na bo ntibabona ingene bohunga.
36 Nimwumve yemwe! Abungere bariko bararira cane,
n’abanyacubahiro bo mu busho bariko baraboroga,
kuko Yehova ariko aratikiza uburagiro bwabo.
37 Kubera ishavu rya Yehova rirurumba,
ahantu hatekanye abantu bahora baba nta buzima bukiharangwa.
38 Nka kurya kw’intambwe y’umukangara*+, yaravuye ahantu hiwe,
bituma igihugu cabo gicika akajoreza
kubera inkota itema igatongora
no kubera ishavu ryiwe rirurumba.»
26 Mu ntango y’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, iri jambo riza rivuye kuri Yehova riti: 2 «Yehova avuze ati: “Hagarara mu kigo c’inzu ya Yehova, ubwire* abantu bose bo mu bisagara vyo mu Buyuda baza gusengera* mu nzu ya Yehova ivyo ndagutegeka vyose. Ntihagire ijambo ukuramwo. 3 Hari aho bokwumviriza, umwe wese agahindukira agaheba ingeso ziwe mbi. Nanje nzoca mpindura umugambi* nari mfise wo kubateza ivyago kubera ibibi bakora+. 4 Ubabwire uti: ‘Yehova avuze ati: “Nimutanyumviriza ngo mukurikize amategeko* nabahaye, 5 ngo mwumvirize amajambo y’abasavyi banje b’abahanuzi ndabatumako incuro n’izindi* ariko ntimubumvirize+, 6 iyi nzu rero nzoyigira nk’uko nagiriye Shilo+, n’iki gisagara ndakigire umuvumo ku mahanga yose yo kw’isi+.”’”»
7 Maze abaherezi n’abahanuzi n’abantu bose bumva Yeremiya avugira ayo majambo mu nzu ya Yehova+. 8 Nuko Yeremiya arangije kuvuga ibintu vyose Yehova yari yamutegetse kubwira abantu bose, abaherezi n’abahanuzi n’abantu bose baca baramufata, bavuga bati: «Ntugenda udapfuye. 9 Kubera iki uvuze ubuhanuzi mw’izina rya Yehova ngo: “Iyi nzu izoba nk’i Shilo kandi iki gisagara kizotikizwa gisigare ata muntu akibamwo”?» Nuko abantu bose bakoranira kuri Yeremiya mu nzu ya Yehova.
10 Abatware* bo mu Buyuda bumvise ayo majambo, bava ku nzu* y’umwami baduga ku nzu ya Yehova, bicara kw’irembo rishasha ry’inzu ya Yehova+. 11 Abaherezi n’abahanuzi babwira abatware n’abantu bose bati: «Uyu mugabo akwiriye urwo gupfa+ kuko yavuze ko iki gisagara kizoshikirwa n’ibintu bibi, nk’uko mwavyiyumviye n’amatwi yanyu+.»
12 Yeremiya aca abwira abatware bose n’abantu bose ati: «Yehova ni we yantumye kuvuga amajambo yose mwumvise+ ajanye n’ibibi bizoshikira iyi nzu n’iki gisagara. 13 Nimuhindure rero ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, kandi mwumvire ijwi rya Yehova Imana yanyu. Yehova na we azohindura umugambi* wo kubateza ivyago yavuze ko bizobashikira+. 14 Nayo jewe, ndi mu maboko yanyu. Nimunkorere ivyo mubona ko ari vyiza kandi bigororotse. 15 Gusa mumenye neza ko nimwanyica, muzoba mwikwegeye amaraso y’intungane, mukayakwegera n’iki gisagara be n’abakibamwo, kuko Yehova ari we vy’ukuri yantumye kubabwira ayo majambo yose ngo muyumve.»
16 Maze abatware n’abantu bose babwira abaherezi n’abahanuzi bati: «Uyu mugabo ntakwiriye urwo gupfa kuko ivyo yatubwiye yabitubwiye mw’izina rya Yehova Imana yacu.»
17 Vyongeye, bamwe mu bashingantahe bo mu gihugu barahaguruka, batangura kubwira abantu bose bari bakoraniye ng’aho bati: 18 «Mika+ w’i Moresheti yavuga ubuhanuzi mu gihe ca Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda. Yabwiye abantu bose bo mu Buyuda ati: “Yehova Nyeningabo avuze ati:
‘I Siyoni hazorimwa nk’umurima,
i Yeruzalemu na ho hacike ibirundo vy’ibihomvagurike+,
kandi umusozi uriko urusengero* uzomera nk’umusozi* uriko ishamba+.’”
19 None Hezekiya umwami w’Ubuyuda n’abo mu Buyuda bose boba baciye bamwica? Mbega umwami ntiyatinye Yehova agatakambira Yehova, maze Yehova agahindura umugambi* wo kubateza ivyago yari yaravuze ko bizobashikira+? Aho ntimubona ko dushaka kwikwegera ivyago bikomeye?
20 Hariho n’uwundi mugabo yavuga ubuhanuzi mw’izina rya Yehova. Ni Uriya mwene Shemaya w’i Kiriyati-Yeyarimu+. Yavuze ibibi bizoshikira iki gisagara n’iki gihugu kandi yavuga nk’ivyo Yeremiya avuga. 21 Nuko umwami Yehoyakimu+ n’abagabo b’intwari bose be n’abatware bose bumva ivyo avuga, maze umwami arondera kumwica+. Uriya avyumvise aca aratinya hanyuma ahungira mu Misiri. 22 Maze umwami Yehoyakimu atuma Elinatani+ mwene Akibori mu Misiri ari kumwe n’abandi bagabo. 23 Nuko bakura Uriya mu Misiri bamuzanira umwami Yehoyakimu, na we aca amwicisha inkota+, aterera umuvyimba wiwe mw’itongo ry’abapfuye ry’abantu batobato.»
24 Mugabo Ahikamu+ mwene Shafani+ ashigikira Yeremiya, ntiyatangwa ngo abantu bamwice+.
27 Mu ntango y’intwaro ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, Yehova yavuganye na Yeremiya. 2 Maze Yeremiya avuga ati: «Yehova yambwiye ati: “Nurondere imigozi n’ibiti vyo kwikoreza imizigo*, hanyuma ubishire kw’izosi. 3 Uheze ubirungikire umwami wa Edomu+, uwa Mowabu+, uw’Abamoni+, uw’i Tiro+ n’uw’i Sidoni+, ubirungikane intumwa zaje i Yeruzalemu kuraba Zedekiya umwami w’Ubuyuda. 4 Uze ubategeke kubwira ba shebuja bati:
‘Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo Imana ya Isirayeli avuze ko mukwiye kubwira ba shobuja: 5 “Ni jewe naremye* isi, abantu n’ibikoko biri kw’isi nkoresheje ububasha bwanje buhambaye n’ukuboko kwanje gukomeye*, kandi nabihaye uwo nshaka*+. 6 Ubu rero, ibi bihugu vyose ndabihaye umusavyi wanje Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni. Ndamuhaye n’ibikoko vyo mw’ishamba ngo abiganze. 7 Amahanga yose azomukorera, we n’umuhungu wiwe n’umwuzukuru wiwe, gushika igihe c’igihugu ciwe kigeze+, aho amahanga menshi n’abami bakomeye bazomugira umushumba wabo+.”
8 “Nihagira ihanga canke ubwami vyanka gukorera Nebukadinezari umwami wa Babiloni, bikanka gushira kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni, iryo hanga nzorihanisha inkota+, inzara n’ikiza*”, ni ko Yehova avuze, “gushika abaribamwo ndabaherengeteje biciye kuri we.”
9 “Ntimwumvirize rero abahanuzi banyu, abaraguzi banyu, abarosi banyu, abanyamageza banyu n’abapfumu banyu, bababwira ngo: ‘Ntimuzokorera umwami wa Babiloni.’ 10 Kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma, bikazotuma mujanwa kure y’igihugu canyu, nkabashwiragiza mugahona.
11 Mugabo ihanga rizokwemera gushira kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni rikamukorera, nzorireka rigume* mu gihugu caryo”, ni ko Yehova avuze, “kugira riharime ryongere rihabe.”’”»
12 Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda na we nyene namubwiye nk’ukwo nyene nti: «Nimushire kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni, mumukorere we n’abantu biwe. Ni ho muzobandanya kubaho+. 13 Kubera iki mwe n’abantu bawe mworinda kwicwa n’inkota+, inzara+ n’ikiza+, nk’uko Yehova yavuze ko bizoshikira ihanga ritazokorera umwami wa Babiloni? 14 Ntimwumvirize amajambo abahanuzi bababwira ngo: “Ntimuzokorera umwami wa Babiloni+”, kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma+.
15 Yehova avuze ati: “Sinabatumye mugabo bavuga ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje. Bizotuma ndabashwiragiza muhone, mwe n’abahanuzi bababwira ubuhanuzi+.”»
16 Abaherezi n’abo bantu bose nababwiye nti: «Yehova avuze ati: “Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi banyu bababwira ubuhanuzi bavuga ngo: ‘Ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova bigiye kugarukanwa vuba cane bikuwe i Babiloni+!’ Ntimubumvirize kuko bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma+. 17 Ntimubumvirize. Nimukorere umwami wa Babiloni mubone kubandanya kubaho+. Kubera iki kino gisagara corinda gutikizwa? 18 Mugabo nimba ari abahanuzi bakaba bavuga ijambo rya Yehova, ndabinginze batakambire Yehova Nyeningabo kugira ngo ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova no mu nzu* y’umwami w’Ubuyuda n’i Yeruzalemu ntibitwarwe i Babiloni.”
19 Kuko ibi ari vyo Yehova Nyeningabo avuze ku bijanye na za nkingi+, ca kiyaga*+, ya mashareti+ n’ibikoresho bisigaye muri iki gisagara, 20 ivyo Nebukadinezari umwami wa Babiloni atajanye igihe yatwara mu bunyagano i Babiloni Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’Ubuyuda, amukuye i Yeruzalemu, ari kumwe n’abanyacubahiro bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 21 Egome, ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ku bijanye n’ibikoresho bisigaye mu nzu ya Yehova, mu nzu* y’umwami w’Ubuyuda n’i Yeruzalemu: 22 “Yehova avuze ati: ‘Bizojanwa i Babiloni+ kandi ni ho bizoguma gushika umusi nzovyitaho*. Nzoheza ndabigarukane ndabisubize aha hantu+.’”»
28 Muri uwo mwaka nyene, mu ntango y’intwaro ya Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda, hakaba hari mu mwaka ugira kane, mu kwezi kugira gatanu, Hananiya mwene Azuri, umuhanuzi yava i Gibeyoni+, ambwirira mu nzu ya Yehova imbere y’abaherezi n’abantu bose ati: 2 «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Nzovuna igiti co kwikoreza imizigo* c’umwami wa Babiloni+. 3 Mu myaka ibiri* ngiye kugarukana aha hantu ibikoresho vyose vyo mu nzu ya Yehova, bimwe Nebukadinezari umwami wa Babiloni yakura aha hantu akabijana i Babiloni+.” 4 “Kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya+ mwene Yehoyakimu+, umwami w’Ubuyuda, n’abantu bose bo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano i Babiloni+”, ni ko Yehova avuze, “kuko nzovuna igiti co kwikoreza imizigo c’umwami wa Babiloni.”»
5 Maze umuhanuzi Yeremiya yishura umuhanuzi Hananiya imbere y’abaherezi n’abantu bose bari bahagaze mu nzu ya Yehova. 6 Umuhanuzi Yeremiya avuga ati: «Amen*! Yehova nabikore! Yehova nashitse ubuhanuzi uvuze, agarukane aha hantu ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova n’abantu bose bajanywe mu bunyagano, abakure i Babiloni! 7 Ariko rero, ndakwinginze wumve ubu butumwa ngira mvugire imbere yawe n’aba bantu bose. 8 Abahanuzi babayeho kera cane imbere ya twe nawe, bahora bavuga ubuhanuzi bujanye n’intambara, ivyago n’ibiza* vyoshikiye ibihugu vyinshi n’ubwami bukomakomeye. 9 Hagize rero umuhanuzi avuga ubuhanuzi bw’amahoro maze ivyo avuze bikaranguka, bizoheza bimenyekane ko Yehova ari we vy’ukuri yamutumye.»
10 Umuhanuzi Hananiya aca akura kw’izosi ry’umuhanuzi Yeremiya ca giti co kwikoreza imizigo, arakivuna+. 11 Maze Hananiya avugira imbere y’abantu bose ati: «Yehova avuze ati: “Uku ni ko nzovuna igiti co kwikoreza imizigo ca Nebukadinezari umwami wa Babiloni mu myaka ibiri, ndagikuye kw’izosi ry’amahanga yose+.”» Nuko umuhanuzi Yeremiya arigira.
12 Umuhanuzi Hananiya amaze kuvuna ca giti co kwikoreza imizigo agikuye kw’izosi ry’umuhanuzi Yeremiya, Yehova ashikiriza Yeremiya ubu butumwa: 13 «Genda ubwire Hananiya uti: “Yehova avuze ati: ‘Wavunye ivyo kwikoreza imizigo bikozwe mu giti+, ariko mu kibanza cavyo uzokora ivy’icuma.’ 14 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nzoshira kw’izosi ry’ayo mahanga yose ico kwikoreza imizigo gikozwe mu cuma, kugira ngo akorere Nebukadinezari umwami wa Babiloni, kandi azomukorera ata kabuza+. Nzomuha n’ibikoko vyo mw’ishamba+.’”»
15 Umuhanuzi Yeremiya aca abwira umuhanuzi Hananiya+ ati: «Ewe Hananiya, ndagusavye wumvirize. Yehova ntiyagutumye, mugabo watumye aba bantu bizigira ibinyoma+. 16 Yehova rero avuze ati: “Urazi? Ngira ndagukure kw’isi. Muri uyu mwaka uzopfa, kuko waremesheje abantu kugarariza Yehova+.”»
17 Nuko umuhanuzi Hananiya apfa muri uwo mwaka, mu kwezi kugira indwi.
29 Ibi ni vyo vyari mw’ikete umuhanuzi Yeremiya yarungitse ari i Yeruzalemu. Yarirungikiye abashingantahe basigaye bo mu bantu bajanywe mu bunyagano, arirungikira n’abaherezi, abahanuzi n’abandi bantu bose Nebukadinezari yari yaratwaye mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu. 2 Hari inyuma y’aho umwami Yekoniya+, umugabekazi*+, abakozi bo ku kirimba, abatware bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, abanyamyuga b’abahinga n’abacuzi* baviriye i Yeruzalemu+. 3 Iryo kete yarirungikanye Elasa mwene Shafani+ na Gemariya mwene Hilikiya, abo Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda yatumye i Babiloni kuri Nebukadinezari umwami wa Babiloni. Ryavuga riti:
4 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, abwiye abajanywe mu bunyagano bose, abo yarungitse mu bunyagano i Babiloni abakuye i Yeruzalemu: 5 “Nimwubake amazu muyabemwo, murime n’imirima murye ivyo yamye. 6 Nimurongore abagore muvyare abahungu n’abakobwa. Nimusabire abahungu banyu abagore n’abakobwa banyu mubareke barongorwe, kugira bavyare abahungu n’abakobwa. Nimugwirire hiyo, ntimube inkehwa. 7 Vyongeye, nimurondere amahoro y’igisagara nabarungitsemwo muri inyagano, mugisabire kuri Yehova kuko nicagira amahoro namwe muzogira amahoro+. 8 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Abahanuzi banyu n’abaraguzi banyu muri kumwe ntibabahende+, kandi ntimwumvirize indoto barota. 9 Kuko “bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje. Sinabatumye+”, ni ko Yehova avuze.’”»
10 «Kuko Yehova avuze ati: “Imyaka 70 niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho+ kandi nzoshitsa ivyo nabasezeraniye mu kubagarukana aha hantu+.”
11 “Kuko nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako. Ni ivyiyumviro vy’amahoro, si ivy’ivyago+. Nipfuza kubaha kazoza n’icizigiro+”, ni ko Yehova avuze. 12 “Muzompamagara, muze kunsenga, nanje ndabumvirize+.”
13 “Muzondondera mundonke+, kuko muzondondera n’umutima wanyu wose+. 14 Nanje nzokwemera mundonke+”, ni ko Yehova avuze. “Nzobegeranya ndabakure iyo mwagizwe imbohe, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+”, ni ko Yehova avuze. “Nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.”
15 Mugabo mwavuze muti: “Yehova yaraduhaye abahanuzi i Babiloni.”
16 Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye umwami yicaye ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+ n’abantu bose baba muri iki gisagara, ni ukuvuga benewanyu batajanye namwe mu bunyagano: 17 “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Ngira ndabarungikemwo inkota, inzara n’ikiza*+. Nzotuma bamera nk’insukoni ziboze* zidashobora kuribwa kubera ari mbi cane+.’”
18 “Nzobakurikiza inkota+, inzara n’ikiza. Nzotuma bacika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+, babe umuvumo, akumiza, ikintu co kuvugiriza agahwa+, babe n’abo gucokorwa mu mahanga yose nzobashwiragizamwo+. 19 Nzobikora kubera ko batumvirije ivyo nababwiye biciye ku basavyi banje b’abahanuzi natuma incuro n’izindi*+”, ni ko Yehova avuze.
“Mugabo namwe ntimwumvirije+”, ni ko Yehova avuze.
20 Nimwumve rero ijambo ryanje jewe Yehova, yemwe mwese abajanywe mu bunyagano, mwebwe narungitse i Babiloni ndabakuye i Yeruzalemu. 21 Ibi ni vyo jewe Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, mvuze kuri Ahabu mwene Kolaya no kuri Zedekiya mwene Mayaseya, bababwira ubuhanuzi bw’ibinyoma mw’izina ryanje+: “Ngira ndabashikirize Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, abicire mu maso yanyu. 22 Ibizobashikira bizohora bivugwa nk’umuvumo n’abantu bose bo mu Buyuda bajanywe mu bunyagano i Babiloni. Bazovuga bati: ‘Yehova arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, bamwe umwami wa Babiloni yataze ku muriro!’ 23 Bizogenda ukwo kuko bakoze ibintu biteye isoni muri Isirayeli+, bakarenga ibigo n’abagore ba bagenzi babo kandi bakavuga mw’izina ryanje ibintu vy’ibinyoma ntabatumye+.
‘Ni jewe ndabizi kandi ndi icabona+’, ni ko Yehova avuze.”»
24 «Shemaya+ w’i Nehelamu na we uze umubwire uti: 25 “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ko warungikiye amakete mw’izina ryawe abantu bose bari i Yeruzalemu, ukayarungikira na Zefaniya+ mwene Mayaseya, umuherezi, n’abaherezi bose, uti: 26 “Yehova yakugize umuherezi mu kibanza c’umuherezi Yehoyada kugira ngo uhagarikire inzu ya Yehova, uze urakurikirana umusazi wese yigira umuhanuzi, umushire mu mpatane z’ibiti* no mu mpatane zifata umutwe n’amaboko*+. 27 Kubera iki none utakosoye Yeremiya w’i Anatoti+ yigira umuhanuzi imbere yanyu+? 28 Yaranaturungikiye ubutumwa i Babiloni bugira buti: ‘Muzotebayo! Nimwubake amazu muyabemwo, murime n’imirima murye ivyo yamye+, . . .’”’”»
29 Igihe umuherezi Zefaniya+ yasomera iryo kete imbere y’umuhanuzi Yeremiya, 30 Yehova yaciye abwira Yeremiya ati: 31 «Rungikira ubutumwa abajanywe mu bunyagano bose uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze kuri Shemaya w’i Nehelamu: ‘Ko Shemaya yababwiye ubuhanuzi kandi jewe ntamutumye, akagerageza gutuma mwizigira ibinyoma+, 32 Yehova rero avuze ati: “Ngira niteho ivya Shemaya w’i Nehelamu n’abamukomokako. Muri aba bantu, nta n’umwe mu bamukomokako azosigara. Ntazobona ivyiza nzokorera abantu banje”, ni ko Yehova avuze, “kuko yahimirije abantu kungarariza jewe Yehova.”’”»
30 Ibi ni vyo Yehova yabwiye Yeremiya: 2 «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Andika mu gitabu amajambo yose ndakubwira. 3 Kuko ‘mu misi iri imbere’, ni ko Yehova avuze, ‘nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, ari bo Isirayeli n’Ubuyuda+’, ni ko Yehova avuze. ‘Nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, gisubire kubegukira+.’”»
4 Aya ni yo majambo Yehova yabwiye Isirayeli n’Ubuyuda.
5 Yehova avuze ati:
«Humvikanye ijwi ry’abishwe n’ukujugumira.
Hari ubwoba, nta mahoro ariho.
6 Ndabasavye mubaze ko hari umugabo yibaruka.
Kubera iki abantu bose babenjutse mu maso?
7 Yoo! Uwo musi ni umusi uteye ubwoba*+.
Nta wundi umeze nka wo.
Ni igihe c’amarushwa kuri Yakobo.
Mugabo nzomukiza.»
8 «Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzobakura kw’izosi igiti co kwikoreza imizigo ndakivune, ncacure n’imigozi ibaboshe. Abanyamahanga ntibazosubira kubagira* abashumba babo. 9 Bazokorera Yehova Imana yabo na Dawidi, umwami nzobaha+.»
10 «Nayo wewe musavyi wanje Yakobo, ntutinye», ni ko Yehova avuze.
«Nawe Isirayeli nturanduke umutima+.
Kuko nzogukiza ndagukuye kure,
n’uruvyaro rwawe ndarukize ndarukuye mu gihugu rwagizwemwo imbohe+.
Yakobo azogaruka, abeho atekanye kandi ata kimudurumbanya.
Nta n’umwe azobatera ubwoba+.»
11 «Kuko ndi kumwe nawe kugira ngukize», ni ko Yehova avuze.
12 Kuko Yehova avuze ati:
«Imvune* ufise ntigira umuti+.
Uruguma rwawe ntirukira.
13 Nta wo kukuburanira ariho,
nta n’uburyo bwo kuvura igisebe cawe buriho.
Nta muti wokuvura.
14 Abagukunda cane* bose bakwibagiye+.
Ntibakikurondera.
Kuko nagukubise nk’uko umwansi yogukubita+,
ndaguhana nk’umuntu w’imburakigongwe,
kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
15 Kubera iki uborogeshwa n’imvune ufise?
Ububabare bwawe ntibukira.
Nagukoreye ivyo
kubera ikosa ryawe rikomeye n’ibicumuro vyawe vyinshi+.
Abagusahura bazosahurwa,
kandi nzotuma abakunyaga bose banyagwa+.»
17 «Mugabo nzotuma usubira kugira amagara meza, nkize inguma zawe+
naho bagufashe nk’igicibwa bakwita:
“Siyoni, umwe ata n’umwe amurondera+”», ni ko Yehova avuze.
18 Yehova avuze ati:
«Ngira nkoranye abo mu mahema ya Yakobo bagizwe imbohe+,
kandi nzokwumvira ikigongwe amahema yiwe.
Igisagara kizosubira kwubakwa ku gasozi kaco+,
kandi umunara ukomeye uzohagarara mu kibanza cawo.
19 Hazokwumvikana ugukenguruka n’ijwi ry’abatwenga+.
20 Abahungu biwe bazosubira kumera nka kera,
kandi ishengero ry’abantu biwe rizoshimangirwa imbere yanje+.
Nzohagurukira abamucinyiza bose+.
21 Mu biwe ni ho hazova umunyacubahiro,
kandi umutware abaganza azova muri bo.
Nzomwigiza hafi, na we azonyegēra.
Ubundiho, ugira ngo hari uwokwubahuka kunyegēra*?», ni ko Yehova avuze.
22 «Muzoba abantu banje+, nanje mbe Imana yanyu+.»
23 Ehe! Umuyaga ukaze wa Yehova uzozanana ishavu ryinshi+.
Ni ikivumbuzi gikubura kizozungurukira ku mutwe w’ababisha.
24 Ishavu rirurumba rya Yehova ntirizosubira inyuma
adashize mu ngiro ivyipfuzo vy’umutima wiwe akabishitsa+.
Mu misi y’iherezo muzobitahura+.
31 Yehova avuze ati: «Ico gihe imiryango yose ya Isirayeli nzoyibera Imana, na bo babe abantu banje+.»
2 Ibi ni vyo Yehova avuze:
«Abantu barokotse inkota baragiriwe ubuntu mu bugaragwa,
igihe Abisirayeli bariko baja ahantu habo ho kuruhukira.»
3 Yehova yarambonekeye ari kure, avuga ati:
«Nagukunze urukundo rw’ibihe bidahera.
Ni co catumye ndagukwegera iwanje nkoresheje urukundo rudahera*+.
4 Nzosubira kukwubaka, usubire wubakwe koko+.
5 Uzosubira gutera imirima y’imizabibu mu misozi y’i Samariya+.
Abarimyi bazoyitera barye ivyo yamye+.
6 Kuko umusi uri izina inderetsi zo mu misozi ya Efurayimu zizosemerera ziti:
“Nimuze tuduge i Siyoni, kwa Yehova Imana yacu+.”»
7 Kuko Yehova avuze ati:
«Nimusemerere mubwira Yakobo munezerewe.
Nimwihe akamo k’umunezero kubera muri aba mbere mu mahanga+.
Nimubitangaze. Nimushemeze Imana muvuge muti:
“Ewe Yehova, kiza abantu bawe, amasigarira ya Isirayeli+.”
8 Ngira ndabagarukane ndabakuye mu gihugu co mu buraruko+.
Nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
Muri bo hazoba harimwo impumyi n’abacumbagira+,
abagore bibungenze n’abagira bibaruke, bose hamwe.
Bazogaruka ng’aha ari ishengero rinini+.
Nzobayobora, na bo bariko bantakambira.
Kuko ndi Se wa Isirayeli, Efurayimu akaba imfura yanje+.»
«Uwasanzaje Abisirayeli ni we azobakoraniriza hamwe.
Azobarinda nk’uko umwungere arinda ubusho bwiwe+.
12 Bazoza bihe akamo k’umunezero bari hejuru ku musozi Siyoni+,
bakayangane kubera ukumera neza* kwa Yehova,
kubera intete, umuvinyu mushasha+ n’amavuta,
no kubera imyagazi yo mu busho n’inyana z’inka+.
Ikigandaro cabo nzogihindura umwigino+.
Nzobahoza, ntume intuntu bafise isubirirwa n’umunezero+.
14 Abaherezi nzobaha ibifungurwa vyinshi*,
kandi abantu banje bazohazwa n’ukumera neza kwanje+», ni ko Yehova avuze.
15 «Yehova avuze ati:
“I Rama+ humvikana ijwi, ugucura intimba n’ukuboroga.
Ni Rasheli ariko aririra abahungu* biwe+.
Yanse guhozwa ku bijanye n’abahungu biwe,
kuko batakiriho+.”»
16 Yehova avuze ati:
«“Reka kurira, n’amaso yawe uyabuze gukorora amosozi,
kuko uzoronswa impera ku bw’igikorwa cawe”, ni ko Yehova avuze.
“Bazogaruka bavuye mu gihugu c’umwansi+.”
17 “Hari icizigiro ku bijanye na kazoza kawe+”, ni ko Yehova avuze.
“Abana bawe bazogaruka mu karere kabo+.”»
18 «Narumvise vy’ukuri Efurayimu yiganyira ati:
“Warankosoye, ndemera gukosorwa
nk’inyana itamenyerejwe.
Nungarure, nanje ndagaruka n’umutima ukunze,
kuko uri Yehova Imana yanje.
19 Kuko nicujije ivyo nakoze aho mariye kugaruka+.
Aho umariye kuntahuza, narikubise kw’itako kubera intuntu.
Naramaramaye, ndateterwa+,
kuko natewe isoni n’ivyo nakoze mu buto bwanje.”»
20 «Mbega Efurayimu si umwana wanje nkunda cane akampimbara+?
Kuko igihe cose ndamukosoye, nsubira nkamwibuka.
Ni co gituma ndamugirira ikigumbagumba*+.
Nzomwumvira koko akagongwe», ni ko Yehova avuze+.
21 «Niwishingire ibimenyetso vyo kw’ibarabara, ushireho ivyapa+.
Nushire umutima kw’ibarabara rikuru*, ibarabara ubwirizwa gucamwo+.
Garuka, mwigeme w’isugi wa Isirayeli,
garuka muri ibi bisagara vyawe.
22 Ewe mukobwa w’igihemu, uzogeza ryari kuzembagirika?
Kuko Yehova aremye ikintu gishasha mw’isi:
umugore azorondera umugabo hasi hejuru.»
23 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: «Ninakoranya abantu babo bagizwe imbohe nkabagarukana, bazosubira kuvugira aya majambo mu gihugu c’Ubuyuda no mu bisagara vyaho bati: “Ewe hantu ho kuba hagororotse+, ewe musozi mweranda+, Yehova aguhezagire!” 24 Abo mu Buyuda no mu bisagara vyaho vyose, n’abarimyi be n’abayobora ubusho, bose hamwe ni yo bazoba+. 25 Kuko uwurushe nzomuha inkomezi, uwugoyagoya ndamuronse ivyo akeneye+.»
26 Nca ndikangura ndakanura. Agatiro kari karyoshe.
27 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda nzobiteramwo imbuto* y’abantu n’iy’ibitungwa+.»
28 Yehova avuze ati: «Nk’uko nabagumijeko ijisho kugira ngo ndabarandure, ndabasiturire hasi, ndabasambure nongere ndabagirire nabi+, ni ko nzobagumizako ijisho kugira ngo ndabubake nongere ndabateragire+. 29 Muri iyo misi, ntibazokwongera kuvuga ngo: “Ba sebibondo barariye inzabibu zidahiye, mugabo amenyo y’abana aba ari yo ajiginyurwa*+.” 30 Ahubwo ico gihe, umwe wese azopfa kubera ikosa ryiwe bwite. Uwuzorya inzabibu zidahiye, amenyo yiwe ni yo azojiginyurwa.»
31 Yehova avuze ati: «Mu misi iri imbere, nzogirana isezerano rishasha+ n’Abisirayeli be n’abo mu Buyuda. 32 Ntirizoba rimeze nka rya sezerano nagirana na ba sekuruza ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri+. “Iryo sezerano ryanje bararirenze+, naho nari shebuja wabo w’ukuri*”, ni ko Yehova avuze.»
33 «Kuko iri ari ryo sezerano nzogirana n’Abisirayeli inyuma y’iyo misi», ni ko Yehova avuze. «Nzoshira itegeko ryanje muri bo+, ndaryandike mu mutima wabo+. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.»
34 «Nta wuzosubira kwigisha mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: “Nimumenye Yehova+!”, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru+», ni ko Yehova avuze. «Nzobabarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.»
35 Yehova, umwe atanga izuba ngo riboneshe ku murango,
agatanga n’amategeko* aganza ukwezi n’inyenyeri ngo biboneshe mw’ijoro,
akavyura ikiyaga agatuma imipfunda yaco isebagirika,
umwe yitwa Yehova Nyeningabo+,
avuze ati:
36 «“Ayo mategeko aramutse avuyeho,
ni ho n’uruvyaro rwa Isirayeli rworeka kuba ihanga imbere yanje ibihe vyose+”, ni ko Yehova avuze.»
37 Ibi ni vyo Yehova avuze: «“Nimba ijuru iyo riri hejuru ryoshobora gupimwa, n’imishinge y’isi hasi igasuzumwa, nanje rero noshobora guta uruvyaro rwa Isirayeli rwose kubera ivyo bakoze vyose”, ni ko Yehova avuze+.»
38 «Ehe raba! Mu misi iri imbere, Yehova azokwubakirwa igisagara+ kuva ku munara wa Hananeli+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+», ni ko Yehova avuze. 39 «Umugozi wo gupimisha+ uzogenda utumbereye gushika ku murambi wa Garebu, hanyuma ukate uja i Gowa. 40 Ikiyaya cose batereramwo imivyimba n’iminyota*, n’imikobeko yose gushika ku mwonga Kidironi+, kubandanya gushika ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi+ amaja mu buseruko, hazoba ahantu heranda ha Yehova+. Ntihazokwigera hasubira kurandurwa canke gusamburwa.»
32 Mu mwaka ugira 10 Zedekiya umwami w’Ubuyuda aganza, akaba ari umwaka ugira 18 Nebukadinezari*+ aganza, Yehova yaravuganye na Yeremiya. 2 Ico gihe ingabo z’umwami wa Babiloni zari zugarije Yeruzalemu, umuhanuzi Yeremiya na we apfungiwe mu kigo c’abarinzi+, ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda. 3 Zedekiya umwami w’Ubuyuda yari yamupfunze+, amubwira ati: «Kubera iki uvuga ubuhanuzi nk’ubwo? Uvuga ngo: “Yehova avuze ati: ‘Ngira ntange iki gisagara ku mwami wa Babiloni, agifate+, 4 kandi na Zedekiya umwami w’Ubuyuda ntazokira Abakaludaya, kuko azogwa koko mu maboko y’umwami wa Babiloni. Bazovugana imbonankubone, babonane amaso mu yandi+.’” 5 “Azotwara Zedekiya i Babiloni, kandi ni ho azoguma gushika nitayeho ivyiwe”, ni ko Yehova avuze. “Naho muguma murwanya Abakaludaya, ntimuzotsinda+.”»
6 Yeremiya yavuze ati: «Yehova yambwiye ati: 7 “Hanameli mwene sowanyu Shalumu agira aze kukubwira ngo: ‘Nugure itongo ryanje riri i Anatoti+ ribe rwawe, kuko ari wewe ufise uburenganzira bwa mbere bwo kuricungura+.’”»
8 Nuko Hanameli mwene datawacu aza kundaba mu kigo c’abarinzi, nk’uko Yehova yari yavuze, maze ambwira ati: «Ndakwinginze ugure itongo ryanje riri i Anatoti mu karere ka Benyamini, kuko ufise uburenganzira bwo kuryegukira no kuricungura. Rigure ribe rwawe.» Nca menya ko vyari bivuye kuri Yehova.
9 Nuko ngura iryo tongo rya Hanameli mwene datawacu ryari i Anatoti. Maze ndamupimira amahera+: shekeli* indwi n’ifeza cumi. 10 Maze ndavyandika ku rwandiko+, nshirako ikidodo, mpamagara ivyabona+, nca mpima nya mahera ku munzane. 11 Ndaheza ntora nya rwandiko rw’ubuguzi rwari rwashizweko ikidodo nk’uko bisabwa n’ibwirizwa be n’amategeko, ntora n’urwandiko rutashizweko ikidodo. 12 Nca mpa nya rwandiko rw’ubuguzi Baruki+ mwene Neriya+, Neriya wa Mahiseya, ndarumuhera imbere ya Hanameli mwene datawacu, imbere ya nya vyabona bari barwanditseko, n’imbere y’Abayuda bose bari bicaye mu kigo c’abarinzi+.
13 Nuko ntegeka Baruki imbere yabo nti: 14 «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Tora izi nzandiko, ni ukuvuga uru rwandiko rwashizweko ikidodo n’uru rundi rutashizweko ikidodo, maze uzishire mu nkono y’ibumba kugira ngo zizigamwe igihe kirekire.” 15 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Abantu bazosubira kugura amazu n’amatongo n’imirima y’imizabibu muri iki gihugu+.”»
16 Maze guha nya rwandiko rw’ubuguzi Baruki mwene Neriya, nca nsenga Yehova nti: 17 «Yoo, Mukama Segaba Yehova! Erega ni wewe waremye* ijuru n’isi ukoresheje ububasha bwawe buhambaye+ n’ukuboko gukomeye*. Nta kintu c’agatangaza kuri wewe. 18 Wereka urukundo rudahera* abantu ibihumbi, mugabo ukareka abana bagashikirwa n’ingaruka z’amakosa ba se bakoze*+. Uri Imana y’ukuri, Umwe ahambaye kandi akomeye yitwa Yehova Nyeningabo. 19 Imigambi* yawe irahambaye kandi ukora ibikomeye+, wewe witegereza ibintu vyose abantu bakora+, kugira ngo uhe umwe wese ibikwiranye n’ingeso ziwe be n’ivyo akora+. 20 Mu gihugu ca Misiri warahakoreye ibimenyetso n’ibitangaro bizwi gushika n’uyu musi. Vyatumye izina ryawe riba rurangiranwa muri Isirayeli no mu bandi bantu bose+, nk’uko biri uyu musi. 21 Maze ukura abantu bawe b’Abisirayeli mu gihugu ca Misiri ukoresheje ibimenyetso, ibitangaro, ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha* hamwe n’ibikorwa biteye ubwoba+.
22 Mu nyuma warabahaye iki gihugu wari wararahiye ko uzoha ba sekuruza babo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 23 Baracinjiyemwo baracigarurira, mugabo ntibumviye ijwi ryawe canke ngo bagendere mu mategeko yawe. Ibintu vyose wari warabategetse gukora ntibabikoze, bituma ubateza ibi vyago vyose+. 24 Ehe abantu baraje gutera iki gisagara. Bubatse ibintu buririrako ngo bagifate+. Kubera inkota+, inzara n’ikiza*+, iki gisagara kizogwa vy’ukuri mu maboko y’Abakaludaya bariko barakirwanya. Nk’uko uvyibonera, ivyo wavuze vyose vyabaye. 25 Yamara, Mukama Segaba Yehova, wambwiye uti: “Nugure iryo tongo amahera ribe rwawe, uhamagare n’ivyabona”, ubimbwira kandi iki gisagara kizogwa vy’ukuri mu maboko y’Abakaludaya.»
26 Nuko Yehova abwira Yeremiya ati: 27 «Ndi Yehova Imana y’abantu bose*. Mbega hari ikintu c’agatangaza kuri jewe? 28 Jewe Yehova mvuze rero nti: “Ngira ntange iki gisagara ku Bakaludaya no kuri Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, agifate+. 29 Abakaludaya baje gutera iki gisagara bazokwinjira bagiturire gitokombere+. Bazoturira n’amazu abantu bahora bashikanirako ibimazi Bayali bari ku gisenge, bakahasukira n’amashikanwa y’ibinyobwa bayaha izindi mana kugira bambabaze+.”
30 “Kuko Abisirayeli n’abo mu Buyuda bakoze gusa ivyo mbona ko ari bibi kuva mu buto bwabo+. Abisirayeli baguma bambabaza biciye ku vyo bakora”, ni ko Yehova avuze. 31 “Kuko iki gisagara cagumye gusa kintera ishavu n’uburake kuva umusi bacubaka gushika n’uyu musi+. Ni co gituma gitegerezwa kumva mu maso+, 32 kubera ibibi vyose Abisirayeli n’abo mu Buyuda bakoze kugira bambabaze, bo n’abami babo+, abatware babo+, abaherezi babo, abahanuzi babo+, n’abagabo bo mu Buyuda be n’ababa i Yeruzalemu. 33 Bagumye bantera ibitugu aho kumpanga amaso+. Naho nagerageje kubigisha incuro n’izindi*, nta n’umwe muri bo yumvirije ngo yemere gutozwa indero+. 34 Barashize ibigirwamana vyabo bisesemye mu nzu yitirirwa izina ryanje, kugira ngo bayihumanye+. 35 Vyongeye, barubatse ibibanza vyo gusengeramwo Bayali* mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo ngo babashikanire Moleki*+. Ico ni ikintu gishisha ntabategetse+, kitigeze kinza mu mutima*, catumye abo mu Buyuda bacumura.”
36 Ibi rero ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze kuri iki gisagara muvuga ko kizotangwa ku mwami wa Babiloni biciye ku nkota, inzara n’ikiza: 37 “Nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nabashwiragijemwo nshavuye, naratse kandi nshangashiwe+. Nzobagarukana aha hantu, ndabareke bibereho mu mutekano+. 38 Bazoba abantu banje, nanje mbe Imana yabo+. 39 Nzobaha umutima umwe+ n’inzira imwe kugira ngo bame bantinya, ku neza yabo n’iy’abana babo mu nyuma zabo+. 40 Nzogirana na bo isezerano ryamaho+ yuko ntazoreka kubakorera iciza+. Nzotuma umutima wabo untinya kugira ngo ntibareke kunkurikira+. 41 Nzonezerwa kubera bo, ndabakorere iciza+, kandi nzobateragira muri iki gihugu bashinge imizi+. Nzobikorana umutima wanje wose n’inkomezi zanje zose.”»
42 «Kuko Yehova avuze ati: “Nk’uko nazanye kuri aba bantu ibi vyago vyose bikomeye, ni ko nzobazanako ivyiza vyose ndabasezeraniye+. 43 Abantu bazosubira kugura amatongo muri iki gihugu+, naho muvuga ngo: ‘Iki gihugu ni agahinga katabamwo abantu n’ibikoko, kandi caratanzwe ku Bakaludaya.’”
44 “Abantu bazogura amatongo amahera, bandike inzandiko z’ubuguzi, bazishireko ikidodo, bahamagare n’ivyabona. Ivyo bizoba mu karere ka Benyamini+, mu micungararo ya Yeruzalemu, mu bisagara vy’Ubuyuda+, ivyo mu misozi, ivyo mu karere k’imirambi+ n’ivyo mu bumanuko, kuko nzogarukana abantu baho bagizwe imbohe+”, ni ko Yehova avuze.»
33 Yehova avugana na Yeremiya ubugira kabiri, igihe yari agipfungiwe mu kigo c’abarinzi+, amubwira ati: 2 «Yehova Umuremyi w’isi*, Yehova umwe yayibumba akayikomeza, umwe yitwa Yehova, avuze ati: 3 “Mpamagara, nanje ndakwitaba ndakubwire n’umutima ukunze ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi+.”»
4 «Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bijanye n’amazu y’iki gisagara, n’amazu y’abami b’Ubuyuda yasituriwe hasi ku bwo kwikingira abarunze ibintu vyo kwuririrako ngo bahatere no kwikingira inkota+, 5 no ku bijanye n’abaza kurwanya Abakaludaya bakuzuza aha hantu imivyimba y’abantu nasasitse nshavuye kandi naratse, bamwe batuma iki gisagara ndagihisha mu maso hanje kubera ibibi bakoze. Avuze ati: 6 “Ngira ntume hasubira kumera neza, hagire n’amagara meza+. Nzokiza abantu nongere ndabahe* amahoro n’ukuri vy’umurengera+. 7 Nzogarukana abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bagizwe imbohe+, kandi nzobubaka nk’uko nabigize mu ntango+. 8 Nzobatyorora vy’ukuri ntibabe bacagirwa n’ibicumuro bankoreye+, ndabaharire vy’ukuri ntibabe bacagirwa n’ibicumuro vyabo be n’amakosa bankoreye+. 9 Izina ry’iki gisagara rizotuma nigina kandi kizotuma nshemezwa nongere ninahazwe imbere y’amahanga yose yo kw’isi azokwumva ivyiza vyose nkorera abantu banje+. Ayo mahanga azogira ubwoba yongere ajugumire+ kubera ivyiza vyose nzokorera iki gisagara n’amahoro yose nzogiha+.”»
10 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Aha hantu, mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu vyacitse umusaka, bitakirangwamwo abantu canke ibitungwa, muzovuga ko ari agahinga katabamwo abantu canke ibitungwa. Mugabo hazosubira kwumvikana 11 ijwi ry’umwigino n’ijwi ry’umunezero+, ijwi ry’umukwe n’ijwi ry’umugeni, n’ijwi ry’abavuga bati: ‘Nimukengurukire Yehova Nyeningabo, kuko Yehova ari mwiza+. Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.’”
“Bazozana mu nzu ya Yehova amashikanwa yo gukenguruka+, kuko nzogarukana abo muri iki gihugu bagizwe imbohe bamere nk’uko bari mu ntango”, ni ko Yehova avuze.»
12 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Muri aka gahinga katabamwo abantu canke ibitungwa, no mu bisagara vyaho vyose, hazosubira kuboneka uburagiro abungere bavyagizamwo amasho yabo+.”
13 “Mu bisagara vyo mu misozi, ivyo mu karere k’imirambi, ivyo mu bumanuko, ivyo mu karere ka Benyamini, ivyo mu micungararo ya Yeruzalemu+ n’ivyo mu Buyuda+, abungere bazosubira guharura amasho yabo*”, ni ko Yehova avuze.»
14 «Yehova avuze ati: “Mu misi iri imbere, nzoshitsa ivyiza navuze ko nzokorera ihanga rya Isirayeli n’Ubuyuda+. 15 Muri iyo misi no muri ico gihe nzonagishiriza Dawidi umunago* ugororotse+, kandi azotuma mu gihugu harangwa ubutungane n’ubugororotsi+. 16 Muri iyo misi Ubuyuda buzokizwa+ na Yeruzalemu yibere mu mutekano+. Ico gisagara kizokwitwa: Yehova ni we bugororotsi bwacu+.”»
17 «Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Mu muryango wa Dawidi ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+. 18 No mu baherezi b’Abalewi ntihazokwigera habura umugabo ahagarara imbere yanje ngo ashikane amashikanwa aturirwa uko yakabaye, ngo aturire amashikanwa y’intete yongere ashikane ibimazi.”»
19 Yehova yongera kuvugana na Yeremiya ati: 20 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega mwoshobora guhagarika isezerano nagize rijanye n’umurango n’isezerano nagize rijanye n’ijoro, mukabuza umurango n’ijoro kuza ku mwanya wavyo+? 21 Nimba vyoshoboka, n’isezerano nagiranye n’umusavyi wanje Dawidi ryoshobora rero guhagarikwa+, ku buryo ataronka umuhungu yicara ku ntebe yiwe y’ubwami ngo aganze+. N’isezerano nagiranye n’abaherezi b’Abalewi bankorera+ na ryo nyene ryohagarikwa. 22 Nk’uko ingabo zo kw’ijuru zidashobora guharurwa, canke ngo umusenyi wo ku kiyaga upimwe, ni ko nzogwiza uruvyaro* rw’umusavyi wanje Dawidi n’Abalewi bankorera.”»
23 Yehova yongera kandi kuvugana na Yeremiya ati: 24 «Mbega ntiwumvise ivyo aba bantu bavuga? Bavuga ngo: “Yehova azoheba ya miryango ibiri yatora.” Baguma bagaya abantu banje, bakabona ko batakiri ihanga.
25 Yehova avuze ati: “Nk’uko nyene nashinze isezerano rijanye n’umurango be n’ijoro+, ngashinga n’amategeko* agenga ijuru n’isi+, 26 ni ko nyene ntazokwigera mpeba uruvyaro* rwa Yakobo n’urw’umusavyi wanje Dawidi, ngo ndeke gutora mu ruvyaro* rwiwe abatware bo kuganza abakomoka kuri Aburahamu*, Izahaki na Yakobo. Kuko nzokoranya abantu babo bagizwe imbohe+ ndabagarukane, kandi nzobumvira akagongwe+.”»
34 Yehova yaravuganye na Yeremiya, igihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni n’ingabo ziwe zose n’ubwami bwose aganza bwo kw’isi, hamwe n’amahanga yose, bariko barwanya Yeruzalemu n’ibisagara vyose bihakikuje+. Yavuze ati:
2 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Genda uvugane na Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda, umubwire uti: ‘Yehova avuze ati: “Ngira ntange iki gisagara ku mwami wa Babiloni, kandi azogiturira+. 3 Ntuzomucarukana kuko uzofatwa ata kabuza bakagushikana ku mwami wa Babiloni+. Uzomubona amaso mu yandi, muvugane imbonankubone, kandi uzoja i Babiloni+.” 4 Ariko rero Zedekiya mwami w’Ubuyuda, niwumve ijambo rya Yehova: “Yehova avuze ku bikwerekeye ati: ‘Ntuzokwicishwa inkota. 5 Uzokwipfira+ amahoro, kandi nibaguhamba, bazoturira imibavu nk’uko babigiriye ba sogokuruza, abami ba kera bakwitangiye imbere. Bazokuririra bavuga bati: “Yoo, databuja!” Ivyo bizoba kuko “ari jewe ndabivuze”, ni ko Yehova avuze.’”’”»
6 Nuko umuhanuzi Yeremiya abwira Zedekiya umwami w’Ubuyuda ayo majambo yose, ayamubwirira i Yeruzalemu. 7 Ico gihe ingabo z’umwami wa Babiloni zariko zirwanya Yeruzalemu n’ibisagara vyose vy’Ubuyuda vyari bisigaye+, ni ukuvuga Lakishi+ na Azeka+. Mu bisagara vyo mu Buyuda bikingijwe ibihome, ni vyo vyonyene vyari bisigaye.
8 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho umwami Zedekiya amariye kugirana isezerano n’abantu bose bari i Yeruzalemu kugira ngo bahe umwidegemvyo abashumba+. 9 Umwe wese yategerezwa kurekura umushumba canke umushumbakazi wiwe w’Umuheburayo, kugira ntihagire uwubandanya gukoresha Umuyuda mwenewabo nk’umushumba. 10 Nuko abatware bose n’abantu bose baragamburuka. Bari basezeranye yuko umwe wese yorekuye abashumba n’abashumbakazi biwe ntibabe bakibashumbira. Baragamburutse, barabarekura. 11 Mugabo mu nyuma, bagarukana abashumba n’abashumbakazi bari barekuye, basubira kubagira abashumba ku nguvu. 12 Nuko Yehova avugana na Yeremiya. Yehova avuga ati:
13 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Naragiranye isezerano na ba sogokuruza banyu+ ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri aho mwari abashumba*+, mvuga nti: 14 ‘Imyaka indwi niyarangira, umwe wese muri mwebwe aze arekure Umuheburayo mwenewabo azoba yaguze akamukorera imyaka itandatu. Aze amurekure yidegemvye+.’ Mugabo ba sogokuruza banyu ntibanyumvirije canke ngo bantege amatwi. 15 Namwe muherutse kwisubirako* mukora ivyo mbona ko bigororotse, muha benewanyu umwidegemvyo, mugira n’isezerano imbere yanje mu nzu yitirirwa izina ryanje. 16 Mugabo mwaciye mwongera kwisubirako muhumanya izina ryanje+, mugarukana abashumba banyu n’abashumbakazi banyu mwari mwarekuye bakaja iyo bashaka. Mwasubiye kubagira abashumba ku nguvu.”
17 Yehova avuze rero ati: “Ntimwangamburukiye igihe mwaha umwidegemvyo benewanyu na bagenzi banyu+. Nanje rero ngira ndabahe umwidegemvyo wo kwicwa n’inkota, ikiza* n’inzara+”, ni ko Yehova avuze, “kandi nzotuma mucika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+. 18 Ibi ni vyo bizoshikira abarenze kw’isezerano ryanje, ntibashitse ibiri mw’isezerano bagize imbere yanje igihe bacamwo kubiri inyana, bagaca hagati y’ibihimba vyayo*+, 19 ni ukuvuga abatware bo mu Buyuda, abatware b’i Yeruzalemu, abakozi bo ku kirimba, abaherezi n’abanyagihugu bose baciye hagati y’ibihimba vy’iyo nyana: 20 nzobatanga ku bansi babo no ku barondera kubica, kandi imivyimba yabo izoribwa n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+. 21 Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abatware biwe, nzobatanga ku bansi babo no ku barondera kubica no ku ngabo z’umwami wa Babiloni+ ziriko zirava iwanyu+.”
22 Yehova avuze ati: “Ngira ntange itegeko, ndabagarukane muri iki gisagara, bakirwanye, bagifate maze bagiturire+. Nzotuma ibisagara vyo mu Buyuda bicika agahinga, bisigare ata wubibamwo+.”»
35 Yehova yavuganye na Yeremiya mu gihe ca Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, amubwira ati: 2 «Ja kuraba abo mu muryango w’Abarekabu+ uvugane na bo, maze ubazane mu nzu ya Yehova, muri bumwe mu buriro* bwaho, ubahe umuvinyu banywe.»
3 Ntora rero Yazaniya mwene Yeremiya, Yeremiya mwene Habaziniya, na benewabo, n’abahungu biwe bose n’umuryango wose w’Abarekabu, 4 ndabazana mu nzu ya Yehova. Nabatwaye mu buriro bwa bene Hanane mwene Igidaliya, umuntu w’Imana y’ukuri, iruhande y’uburiro bw’abatware*. Uburiro bw’abatware bwari hejuru y’uburiro bwa Mayaseya mwene Shalumu umurinzi w’umuryango. 5 Maze ntereka imbere y’abagabo bo mu muryango w’Abarekabu ibikombe n’ibindi banyweramwo vyuzuye umuvinyu, hanyuma ndababwira nti: «Nimunywe umuvinyu.»
6 Mugabo bavuga bati: «Nta muvinyu tunywa, kuko Yehonadabu*+ mwene Rekabu, sogokuruza wacu, yadutegetse ati: “Ntimuze mwigere munywa umuvinyu, yaba mwebwe canke abahungu banyu. 7 Kandi ntimuze mwubake inzu canke ngo mubibe imbuto, canke ngo mutere umurima w’imizabibu canke ngo muwironse. Mukwiye nyabuna kuguma muba mu mahema kugira ngo murambire mu gihugu mubayemwo nk’abanyamahanga.” 8 Turabandanya rero kugamburuka ivyo Yehonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu yadutegetse vyose, mu kutigera tunywa umuvinyu, yaba twebwe, abagore bacu, abahungu bacu canke abakobwa bacu. 9 Nta n’amazu yo kubamwo twubaka, kandi nta mirima y’imizabibu dufise canke amatongo canke imbuto. 10 Tubandanya kuba mu mahema no kugamburuka ivyo sogokuruza wacu Yehonadabu* yadutegetse vyose. 11 Mugabo igihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yaza gutera igihugu+, twibwiye duti: “Reka tuje i Yeruzalemu duhunge ingabo z’Abakaludaya n’Abasiriya.” Ni yo mpamvu ubu twibera i Yeruzalemu.»
12 Maze Yehova abwira Yeremiya ati: 13 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Genda ubwire abagabo bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu uti: ‘Mbega sinaguma ndabaremesha ngo mugamburuke ivyo mvuga+?’, ni ko Yehova avuze. 14 ‘Yehonadabu mwene Rekabu yategetse abamukomokako kutanywa umuvinyu, kandi barabikurikije mu kutanywa umuvinyu gushika n’uyu musi, bagamburuka itegeko rya sekuruza wabo+. Ariko jewe navuganye namwe incuro n’izindi* mugabo ntimwangamburukiye+. 15 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose b’abahanuzi incuro n’izindi*+, nkavuga nti: “Ndabasavye, umwe wese ahindukire ahebe ingeso ziwe mbi+, akore ibigororotse. Ntimukurikire izindi mana kandi ntimuzisenge*. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+.” Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize. 16 Abakomoka kuri Yehonadabu mwene Rekabu barakurikije itegeko rya sekuruza wabo+, ariko aba bantu bo ntibanyumvirije.’”»
17 «Yehova, Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Ngira nzane ku Buyuda no ku baba i Yeruzalemu bose ivyago vyose nababwiye ko bizobashikira+, kuko navuganye na bo mugabo ntibumviriza, nkaguma ndabahamagara mugabo ntibitabe+.”»
18 Yeremiya abwira abo mu muryango w’Abarekabu ati: «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ko mwagamburutse itegeko Yehonadabu sogokuruza wanyu yabahaye, mukabandanya gukurikiza ivyo yabategetse vyose, mugakora neza na neza ivyo yabategetse, 19 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: ‘Mu bakomoka kuri Yehonadabu* mwene Rekabu ntihazokwigera habura uwukorera imbere yanje.’”»
36 Nuko mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, Yehova abwira Yeremiya ati: 2 «Tora umuzingo* uwandikemwo amajambo yose nakubwiye yo kuburira Isirayeli n’Ubuyuda+ n’amahanga yose+. Nayakubwiye kuva umusi wa mbere navuganye nawe mu gihe ca Yosiya gushika n’uyu musi+. 3 Abo mu Buyuda nibumva ivyago vyose ngira ndabateze, hari aho bohindukira bagaheba ingeso zabo mbi, nanje nkababarira ikosa ryabo n’igicumuro cabo+.»
4 Yeremiya ahamagara rero Baruki+ mwene Neriya. Maze Yeremiya amubwira ivyo Yehova yamubariye vyose, Baruki na we avyandika mu muzingo*+. 5 Yeremiya aca ategeka Baruki ati: «Jewe ndapfunzwe, sinshobora kwinjira mu nzu ya Yehova. 6 Ni wewe rero utegerezwa kwinjirayo, ugasoma n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yehova nakubwiye ngo wandike muri uyo muzingo. Uyasomere mu nzu ya Yehova abantu bumva, ku musi wo kwisonzesha. Bizotuma abantu bose bo mu Buyuda bazoba baje bavuye mu bisagara vyabo bayumva. 7 Hari aho Yehova yokwumva ugutakamba kwabo, bagahindukira, umwe wese agaheba ingeso ziwe mbi, kuko Yehova yavuze ko afitiye aba bantu ishavu ryinshi n’uburake bwinshi.»
8 Nuko Baruki mwene Neriya akora ivyo umuhanuzi Yeremiya yari yamutegetse vyose. Asomera mu nzu ya Yehova n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yehova+ yari muri wa muzingo*.
9 Nuko mu mwaka ugira gatanu w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, mu kwezi kugira icenda, abantu bose b’i Yeruzalemu n’abantu bose baje i Yeruzalemu bavuye mu bisagara vy’Ubuyuda batangaza umusi wo kwisonzesha imbere ya Yehova+. 10 Maze Baruki asomera mu nzu ya Yehova n’ijwi ryumvikana amajambo ya Yeremiya yari muri wa muzingo*. Yayasomeye mu cumba* ca Gemariya+ mwene Shafani+ umwimuzi* cari mu kigo co haruguru, hafi y’ubwinjiriro bw’irembo rishasha ry’inzu ya Yehova+, ayasoma abantu bose bumva.
11 Mikaya mwene Gemariya, Gemariya mwene Shafani, yumvise amajambo yose ya Yehova yari muri nya muzingo*, 12 aca amanuka ku kirimba* c’umwami mu cumba c’umunyamabanga. Abatware* bose ni ho bari bicaye. Hari umunyamabanga Elishama+, Delaya mwene Shemaya, Elinatani+ mwene Akibori+, Gemariya mwene Shafani, Zedekiya mwene Hananiya n’abandi batware bose. 13 Nuko Mikaya ababwira amajambo yose yumvise igihe Baruki yasomera imbere y’abantu ibiri muri nya muzingo*.
14 Maze abatware bose batuma Yehudi mwene Netaniya, Netaniya wa Shelemiya, Shelemiya wa Kushi, bamutuma kuri Baruki ngo amubwire ati: «Nuze uzanye uwo muzingo wasomeye imbere y’abantu.» Baruki mwene Neriya aca atora nya muzingo, aja iyo bari. 15 Maze bamubwira bati: «Turagusavye wicare udusomere uwo muzingo n’ijwi ryumvikana.» Nuko Baruki arawubasomera.
16 Bakimara kwumva ayo majambo yose, barabana bafise ubwoba maze babwira Baruki bati: «Uko biri kwose dutegerezwa kubwira umwami ayo majambo yose.» 17 Nuko babaza Baruki bati: «Turagusavye utubwire ukuntu wanditse ayo majambo yose. Ni Yeremiya yayakubwiye?» 18 Baruki abishura ati: «Ego. Yarambwiye ayo majambo yose, nanje ndayandikisha irangi muri uyu muzingo*.» 19 Abo batware baca babwira Baruki bati: «Mwe na Yeremiya genda mwinyegeze, ntihagire n’umwe mubwira aho muri+.»
20 Maze bafata nya muzingo bawushira mu cumba c’umunyamabanga Elishama, hanyuma baja aho umwami ari mu kigo bamubwira ivyo bumvise vyose.
21 Nuko umwami atuma Yehudi+ kuzana nya muzingo, maze aja kuwutora mu cumba c’umunyamabanga Elishama. Yehudi atangura kuwusomera imbere y’umwami n’abatware bose bari bahagaze iruhande y’umwami. 22 Hari mu kwezi kugira icenda* umwami yicaye mu nzu yo mu rushana, imbabura iriko iraka imbere yiwe. 23 Yehudi amaze gusoma nk’inkingi zitatu canke zine, umwami yaca atabura ico gice akoresheje imbugita y’umunyamabanga, akagiterera mu muriro wari muri nya mbabura gushika uwo muzingo wose urangiriye muri uwo muriro. 24 Ntibagize ubwoba. Kandi yaba umwami canke abasuku biwe bose bumvise ayo majambo yose, nta witaburiyeko impuzu. 25 Naho Elinatani+, Delaya+ na Gemariya+ batakambiye umwami ngo ntaturire uwo muzingo, ntiyabumvirije. 26 Vyongeye, umwami ategeka Yerameyeli umuhungu w’umwami, Seraya mwene Aziriyeli na Shelemiya mwene Abudeli gufata umunyamabanga Baruki n’umuhanuzi Yeremiya. Mugabo Yehova yagumye abahishije+.
27 Inyuma y’aho umwami atuririye wa muzingo warimwo amajambo Baruki yanditse ayabwiwe na Yeremiya, Yehova yongera kubwira Yeremiya+ ati: 28 «Tora uwundi muzingo uwandikeko ya majambo yose yari mu muzingo wa mbere Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda yaturiye+. 29 Kandi uze ubwire Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda uti: “Yehova avuze ati: ‘Waturiye uwo muzingo uvuga ngo: “Kubera iki wawanditsemwo ngo: ‘Umwami wa Babiloni azoza koko kandi azohonya iki gihugu, ntihagire umuntu canke igikoko asigazayo+’?” 30 Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda: “Ntazoronka uwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, kandi umuvyimba wiwe uzoguma wandagaye ukubitwe n’ubushuhe ku murango n’igikonyozi mw’ijoro+. 31 We n’abamukomokako* n’abasuku biwe nzobahanira ikosa ryabo, kandi bo n’ababa i Yeruzalemu n’abagabo bo mu Buyuda nzobazanako ivyago vyose navuze ko nzobateza+, kuko banse kwumva+.”’”»
32 Nuko Yeremiya atora uwundi muzingo maze awuha umunyamabanga Baruki+ mwene Neriya. Aca awandikamwo amajambo yose yari mu muzingo* Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda yaturiye+, ayabwiwe na Yeremiya. Harongewemwo n’ayandi majambo menshi nk’ayo.
37 Nuko umwami Zedekiya+ mwene Yosiya atangura kuganza mu kibanza ca Koniya*+ mwene Yehoyakimu, kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yari yamugize umwami w’Ubuyuda+. 2 Mugabo we n’abasuku biwe n’abanyagihugu ntibumvirije ivyo Yehova yavuze biciye ku muhanuzi Yeremiya.
3 Nuko umwami Zedekiya atuma Yehukali+ mwene Shelemiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya umuherezi, ngo babwire umuhanuzi Yeremiya bati: «Ndakwinginze udusabire kuri Yehova Imana yacu.» 4 Yeremiya yaridegemvya mu bantu kuko batari bwamushire mw’ibohero+. 5 Ingabo za Farawo zariko ziraza zivuye mu Misiri+ maze Abakaludaya bari bugarije Yeruzalemu baravyumva, baca barakinjura bareka gutera Yeruzalemu+. 6 Maze Yehova abwira umuhanuzi Yeremiya ati: 7 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Umwami w’Ubuyuda yabatumye kumbaza, genda mumubwire muti: ‘Umviriza! Ingabo za Farawo ziriko ziraza kubatabara, zizobwirizwa gusubira mu Misiri iyo zaje ziva+. 8 Kandi Abakaludaya bazogaruka barwanye iki gisagara bagifate maze bagiturire+.’ 9 Yehova avuze ati: ‘Ntimwihende muvuga ngo: “Abakaludaya bazogenda ata kabuza, bareke kudutera.” Nta ho bazoja. 10 Naho mwokwica ingabo zose z’Abakaludaya ziriko zirabarwanya hagasigara gusa abakomeretse, bova mu mahema yabo bakaza guturira iki gisagara+.’”»
11 Ingabo z’Abakaludaya zimaze gukinjura zikareka gutera Yeruzalemu kubera ingabo za Farawo+, 12 Yeremiya aca ava i Yeruzalemu aja mu karere ka Benyamini+ gutora umugabane wiwe mu b’iwabo. 13 Mugabo umuhanuzi Yeremiya ageze kw’irembo rya Benyamini, umukuru w’abarinzi yitwa Iriya mwene Shelemiya, Shelemiya mwene Hananiya, aca aramufata amubwira ati: «Uriko uja kwishikana ku Bakaludaya!» 14 Mugabo Yeremiya amubwira ati: «Oya si vyo! Singiye kwishikana ku Bakaludaya.» Ariko Iriya yanka kumwumviriza, aca afata Yeremiya amushira abatware. 15 Abatware bashavurira cane Yeremiya+, baramukubita maze bamupfungira*+ mu nzu y’umunyamabanga Yehonatani, kuko yari isigaye ari ibohero. 16 Yeremiya yashizwe mu gasho*, mu vyumba vyo mu kuzimu, agumayo imisi myinshi.
17 Nuko umwami Zedekiya amutumako, maze atangura kumubaza ibibazo mu mpisho mu nzu* iwe+. Amubaza ati: «Nta co Yehova yoba yakubwiye?» Yeremiya na we ati: «Kiriho.» Yongerako ati: «Uzotangwa ku mwami wa Babiloni+!»
18 Yeremiya abwira kandi umwami Zedekiya ati: «Ni igiki nagucumuyeko wewe n’abasuku bawe n’aba bantu, catumye munta mw’ibohero? 19 None bari hehe ba bahanuzi banyu bababwira ngo: “Umwami wa Babiloni ntazoza kubatera no gutera iki gihugu+”? 20 Ndakwinginze rero wumvirize databuja, mwami wanje! Ndakwinginze wumve ugutakamba kwanje. Ntunsubize mu nzu y’umunyamabanga Yehonatani+, kugira simpfireyo+.» 21 Umwami Zedekiya aca ategeka ko Yeremiya acungirwa mu kigo c’abarinzi+. Buri musi bamuha umukate w’umuzingi uvuye kw’ibarabara ry’abotsa imikate+, gushika imikate yose iheze mu gisagara+. Yeremiya aguma mu kigo c’abarinzi.
38 Nuko Shefatiya mwene Matani, Gedaliya mwene Pashuri, Yukali+ mwene Shelemiya na Pashuri+ mwene Malikiya bumva amajambo Yeremiya yariko abwira abantu bose ati: 2 «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Uwuzoguma muri iki gisagara azokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza*+. Mugabo uwuzokwishikana* ku Bakaludaya azobaho. Azokiza* ubuzima bwiwe abeho+.” 3 Yehova avuze ati: “Iki gisagara kizotangwa ata kabuza ku ngabo z’umwami wa Babiloni, agifate+.”»
4 Abatware babwira umwami bati: «Turagusavye uyu mugabo yicwe+, kuko mu kuvuga ivyo ariko aca intege* abasoda basigaye muri iki gisagara n’abantu bose. Kuko uyu mugabo ataronderera amahoro aba bantu, ahubwo abaronderera ivyago.» 5 Umwami Zedekiya abishura ati: «Ehe ari mu maboko yanyu, kuko ata na kimwe umwami yobabuza.»
6 Bafata rero Yeremiya bamuterera mw’itangi rya Malikiya umuhungu w’umwami, rikaba ryari mu kigo c’abarinzi+. Bamanura Yeremiya bakoresheje imigozi. Ico gihe nta mazi yari muri iryo tangi, hariyo urwondo gusa. Nuko Yeremiya atangura kunyika muri nya rwondo.
7 Inkone* y’Umunyetiyopiya yitwa Ebedi-Meleki+ yaba ku kirimba* c’umwami, yumva ko Yeremiya bamushize muri nya tangi. Ico gihe umwami yari yicaye mw’irembo rya Benyamini+. 8 Maze Ebedi-Meleki ava ku kirimba* c’umwami aja kuvugana na we. Amubwira ati: 9 «Ewe databuja, mwami wanje, ivyo abo bagabo bakoreye umuhanuzi Yeremiya ni bibi. Bamutereye mw’itangi. Azopfirayo kubera inzara kuko ata mukate ugisigaye mu gisagara+.»
10 Umwami aca ategeka uwo Munyetiyopiya Ebedi-Meleki ati: «Tora abagabo 30 bo ng’aha, hanyuma ukure umuhanuzi Yeremiya muri nya tangi atarapfa.» 11 Ebedi-Meleki atora rero abo bagabo hanyuma aja ku kirimba* c’umwami, mu kibanza kiri munsi y’ububiko bw’itunga+. Batorayo imishambara n’ibipande vy’impuzu vy’imishire, babimanurira Yeremiya muri nya tangi bakoresheje imigozi. 12 Maze uwo Munyetiyopiya Ebedi-Meleki abwira Yeremiya ati: «Ndagusavye ufate iyo mishambara n’ivyo bipande vy’impuzu ubishire hagati y’ukwaha n’imigozi.» Yeremiya aca arabikora. 13 Baraheza bakwegesha Yeremiya nya migozi, bamukura muri nya tangi. Nuko Yeremiya aguma mu kigo c’abarinzi+.
14 Umwami Zedekiya atumako umuhanuzi Yeremiya ngo aze aho ari ku bwinjiriro bugira gatatu bw’inzu ya Yehova. Maze umwami abwira Yeremiya ati: «Hari ico nshaka kukubaza. Ntihagire ico unyegeza.» 15 Yeremiya aca abwira Zedekiya ati: «Nihagira ico ndakubwira, uranyica ata kabuza. Ninaguhanura na ho ntunyumviriza.» 16 Umwami Zedekiya rero arahira Yeremiya mu mpisho ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima we yaduhaye ubu buzima, sindakwica kandi sindagutanga kuri abo bagabo barondera kukwica.»
17 Yeremiya rero aca abwira Zedekiya ati: «Yehova Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Niwishikana* ku batware b’umwami wa Babiloni, uzobaho kandi iki gisagara ntikizoturirwa, kandi wewe n’abo mu rugo rwawe ntimuzopfa+. 18 Mugabo nutishikana* ku batware b’umwami wa Babiloni, iki gisagara kizotangwa ku Bakaludaya bagiturire+, kandi ntuzobacika+.”»
19 Maze umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: «Ndatinya Abayuda bomotse bakaja kwifatanya n’Abakaludaya, kuko hagize uwuntanga mu maboko yabo bohava bankorera ivy’ubunyamaswa.» 20 Mugabo Yeremiya avuga ati: «Nta wuzogutanga mu maboko yabo. Ndakwinginze wumvire ijwi rya Yehova mu vyo nkubwira. Uzoheza uroranirwe, ubandanye kubaho. 21 Ariko niwanka kwishikana*, ng’ibi ivyo Yehova yampishuriye: 22 Umviriza! Abagore bose basigaye ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda bariko barajanwa ku batware b’umwami wa Babiloni+, bavuga bati:
Batumye ikirenge cawe kinyikira mu vyondo.
None ubu bagutaye.”
23 Abagore bawe bose n’abana bawe bose bariko bajanwa ku Bakaludaya, kandi wewe ntuzobacika. Umwami wa Babiloni azogufata+, kandi iki gisagara kizoturirwa+ kubera wewe.»
24 Zedekiya aca abwira Yeremiya ati: «Ntihagire n’umwe ubwira ivyo bintu kugira ntupfe. 25 Abatware nibumva ko navuganye nawe, bakaza bakakubwira ngo: “Turagusavye utubwire ivyo wabwiye umwami. Ntihagire ico utunyegeza, kandi ntitukwica+. None umwami yakubwiye iki?”, 26 uze ubishure rero uti: “Nariko nsaba umwami ngo ntansubize mu nzu ya Yehonatani, kugira simpfireyo+.”»
27 Mu nyuma abatware bose baza aho Yeremiya ari, batangura kumubazagiza. Aca abishura yisunze ivyo umwami yari yamutegetse vyose. Nta kindi bongeyeko kuko ata wari yumvise ikiyago cabo. 28 Yeremiya aguma mu kigo c’abarinzi+ gushika umusi Yeruzalemu yafatwa. Ni yo yari akiri igihe Yeruzalemu yafatwa+.
39 Mu mwaka ugira icenda Zedekiya umwami w’Ubuyuda aganza, mu kwezi kugira cumi, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni n’ingabo ziwe zose baza i Yeruzalemu, barahugariza+.
2 Mu mwaka ugira 11 Zedekiya aganza, mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi, bamena uruzitiro rw’igisagara+. 3 Nuko abatware bose b’umwami wa Babiloni barinjira, bicara kw’irembo ryo hagati+. Hari Nerigali-Sharezeri Samugari, Nebo-Sarisekimu Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abandi batware bose b’umwami wa Babiloni.
4 Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abasoda bose barababona. Maze barahunga+ bava mu gisagara mw’ijoro, baca ahari umurima w’umwami, mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri. Barabandanya berekeza mu karere ka Araba+. 5 Mugabo ingabo z’Abakaludaya ziboma inyuma, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamudugana i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, bamushikiriza Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, amucira urubanza ng’aho. 6 Umwami wa Babiloni yicisha abahungu ba Zedekiya aho i Ribula mu maso yiwe, yicisha n’abanyacubahiro bose bo mu Buyuda+. 7 Maze umwami afata Zedekiya amugira impumyi, hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu, amujana i Babiloni+.
8 Abakaludaya baturira inzu* y’umwami n’inzu zose z’abanyagihugu+, basiturira hasi n’inzitiro za Yeruzalemu+. 9 Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano i Babiloni abantu bari basigaye mu gisagara, abari bataye bakomokera kuri we, n’abandi bose bari basigaye.
10 Mugabo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami asigaza mu Buyuda bamwebamwe mu bantu nyarucari batari bafise ikintu na kimwe. Kuri uwo musi abaha n’imirima y’imizabibu n’amatongo yo kurima*+.
11 Ku bijanye na Yeremiya, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni ategeka Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami ati: 12 «Mutore umwitwararike. Ntihagire ikibi umugirira, kandi umukorere ico agusaba cose+.»
13 Nuko Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami, Nebushazibani Rabusarisi*, Nerigali-Sharezeri Rabumagi* n’abantu bakurubakuru bose b’umwami wa Babiloni batuma abagabo 14 gukura Yeremiya mu kigo c’abarinzi+, maze bamushikiriza Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, ngo amujane iwe. Gutyo asubira kuba mu bandi bantu.
15 Igihe Yeremiya yari apfungiwe mu kigo c’abarinzi+, Yehova yamubwiye ati: 16 «Genda ubwire Ebedi-Meleki+ wa Munyetiyopiya uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira nshitse kuri iki gisagara ivyago navuze ko nzokizanako aho kukizanako ivyiza, kandi kuri uwo musi uzovyibonera.’”
17 “Ariko kuri uwo musi nzokurokora”, ni ko Yehova avuze. “Ntuzotangwa ku bagabo utinya.”
18 “Kuko nzogucira icanzo ata kabuza, ntiwicwe n’inkota. Uzokiza* ubuzima bwawe+ kuko wanyizigiye+”, ni ko Yehova avuze.»
40 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami amurekuriye i Rama+. Yari yamutwayeyo aboheshejwe amapingu, akaba yari mu bandi bantu bose b’i Yeruzalemu no mu Buyuda bariko barajanwa mu bunyagano i Babiloni. 2 Nuko uwo mukuru w’abacungera umwami ashira Yeremiya ku ruhande amubwira ati: «Yehova Imana yawe yari yaravuze ko aha hantu hazoshikirwa n’ibi vyago, 3 kandi Yehova yabishikije nk’uko nyene yabivuze, kuko mwacumuye kuri Yehova, ntimwumvira ijwi ryiwe. Ni co gituma mwashikiwe n’ibi bintu+. 4 Uyu musi rero ndagukuyeko amapingu yari ku maboko yawe. Ushimye kujana nanje i Babiloni, nuze tugende, nzokwitwararika. Mugabo nimba udashaka kujana nanje i Babiloni, ntuze. Ehe igihugu cose kiri imbere yawe. Nuje iyo ushaka+.»
5 Yeremiya atarafata ingingo yo gusubira inyuma, Nebuzaradani avuga ati: «Subira kwa Gedaliya+ mwene Ahikamu, Ahikamu+ mwene Shafani+, umwe umwami wa Babiloni yajeje ibisagara vy’Ubuyuda, ugumane na we mu bandi bantu, canke uje iyo ushaka.»
Uwo mukuru w’abacungera umwami araheza amuha ibifungurwa n’ingabire, aca aramureka aragenda. 6 Nuko Yeremiya aja kwa Gedaliya mwene Ahikamu i Mizipa+, agumana na we mu bandi bantu bari basigaye mu gihugu.
7 Mu nyuma abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, bo n’ingabo zabo bumva ko umwami wa Babiloni yajeje igihugu Gedaliya mwene Ahikamu, amuzeza n’abanyagihugu b’abakene batari barajanywe i Babiloni, bagizwe n’abagabo, abagore n’abana+. 8 Baza rero kwa Gedaliya i Mizipa+. Abaje ni aba: Ishimayeli+ mwene Netaniya, Yohanani+ na Yonatani bene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti, bene Efayi w’i Netofa na Yezaniya+ avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo. 9 Nuko Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani arabarahira, bo hamwe n’ingabo zabo ati: «Ntimutinye gukorera Abakaludaya. Nimube mu gihugu mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+. 10 Nayo jewe, nzoguma i Mizipa kugira ndabaserukire ku Bakaludaya* bazoza baraza iwacu. Mugabo mwebwe, nimwegeranye inzabibu z’umuvinyu, ivyamwa vyera mu ci n’amavuta, mubishire mu bintu babibikamwo, maze mwibere mu bisagara mwigaruriye+.»
11 Abayuda bose bari i Mowabu, mu Bamoni, i Edomu n’abari mu bindi bihugu vyose, na bo nyene bumva ko umwami wa Babiloni hari abo yari yasize mu Buyuda be n’uko yari yabajeje Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. 12 Abayuda bose rero batangura kugaruka bavuye iyo bari barashwiragiriye hose, baza mu Buyuda kwa Gedaliya i Mizipa. Begeranya inzabibu z’umuvinyu n’ivyamwa vyera mu ci, vyinshi cane.
13 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari irya n’ino mu gihugu, baza kwa Gedaliya i Mizipa. 14 Maze bamubwira bati: «Wari uzi ko Bayalisi umwami w’Abamoni+ yatumye Ishimayeli mwene Netaniya kukwica+?» Mugabo Gedaliya mwene Ahikamu ntiyavyemera.
15 Yohanani mwene Kareya aca abwira Gedaliya mu mpisho bari i Mizipa ati: «Ngira nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya, kandi nta wubimenya. Kubera iki yokwica, bigatuma abo mu Buyuda bose bariko bakoranira kuri wewe bashwiragira, abari basigaye mu Buyuda na bo bagahona?» 16 Mugabo Gedaliya+ mwene Ahikamu abwira Yohanani mwene Kareya ati: «Ntubikore kuko uriko urabeshera Ishimayeli.»
41 Mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, aza i Mizipa kwa Gedaliya mwene Ahikamu, ari kumwe n’abagabo cumi. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma*, akaba yari umwe mu batware bakuru b’umwami. Bariko barasangira ibifungurwa aho i Mizipa+, 2 Ishimayeli mwene Netaniya n’abo bagabo cumi bari kumwe barahaguruka bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani. Nuko Ishimayeli yica uwo umwami wa Babiloni yari yajeje igihugu. 3 Ishimayeli yica n’Abayuda bose bari kumwe na Gedaliya i Mizipa n’abasoda b’Abakaludaya bari ng’aho.
4 Ku musi ugira kabiri Gedaliya yishwe, ata n’umwe arabimenya, 5 haza abagabo 80 bavuye i Shekemu+, i Shilo+ n’i Samariya+. Bari bamoye ubwanwa, bitaburiyeko impuzu, bikebaguye+, bafise n’amashikanwa y’intete n’imibavu*+ bazanye ku nzu ya Yehova. 6 Nuko Ishimayeli mwene Netaniya aja guhura na bo avuye i Mizipa, agenda ararira. Abashikiriye ababwira ati: «Nimuze kwa Gedaliya mwene Ahikamu.» 7 Ariko bashitse mu gisagara, Ishimayeli mwene Netaniya n’abantu biwe barabica, babaterera mw’itangi.
8 Mugabo hari abagabo cumi muri bo baciye babwira Ishimayeli bati: «Ntutwice kuko hari ibintu vyinshi twanyegeje mu gahinga bigizwe n’ingano, sayiri*, amavuta n’ubuki.» Nuko arabareka, ntiyabicana na benewabo. 9 Imivyimba yose y’abagabo Ishimayeli yari yishe yayitaye mw’itangi rinini umwami Asa yari yarakoze kubera Bayasha umwami wa Isirayeli+. Iryo tangi ni ryo Ishimayeli mwene Netaniya yujujemwo abari bishwe.
10 Abantu bose bari basigaye i Mizipa+, Ishimayeli abagira imbohe. Harimwo n’abakobwa b’umwami n’abandi bantu bose bari basigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami yari yajeje Gedaliya+ mwene Ahikamu. Ishimayeli mwene Netaniya abagira imbohe, maze agenda yerekeza mu Bamoni+.
11 Yohanani+ mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we bumva ibibi vyose Ishimayeli mwene Netaniya yari yakoze. 12 Baca bahitana abagabo bose, baja kurwanya Ishimayeli mwene Netaniya, bamusanga hafi y’amazi menshi* i Gibeyoni.
13 Abantu bose bari kumwe na Ishimayeli baranezerwa babonye Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we. 14 Nuko abantu bose Ishimayeli yari yagize imbohe abakuye i Mizipa+ barahindukira basubirana inyuma na Yohanani mwene Kareya. 15 Mugabo Ishimayeli mwene Netaniya na munani mu bantu biwe bahunga Yohanani baja mu Bamoni.
16 Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we, bagarukana abantu bari basigaye bakuwe i Mizipa. Babarokoye babakuye kuri Ishimayeli mwene Netaniya aho amariye kwica Gedaliya+ mwene Ahikamu. Bagarukanye abagabo, abasoda, abagore, abana n’abakozi bo ku kirimba, babakuye i Gibeyoni. 17 Nuko baragenda bashikira mu buraro bwa Kimuhamu hafi ya Betelehemu+, bakaba bashaka kuja mu Misiri+ 18 kubera gutinya Abakaludaya. Babatinya kubera ko Ishimayeli mwene Netaniya yari yishe Gedaliya mwene Ahikamu, uwo umwami wa Babiloni yari yarajeje igihugu+.
42 Maze abakuru b’ingabo bose na Yohanani+ mwene Kareya, Yezaniya mwene Hoshaya n’abantu bose, kuva ku muto gushika ku mukuru baraza. 2 Baca babwira umuhanuzi Yeremiya bati: «Turagusavye wumve ugutakamba kwacu udusabire kuri Yehova Imana yawe, usabire aba bantu bose basigaye, kuko nk’uko uvyibonera dusigaye turi inkehwa kandi twahora turi benshi+. 3 Yehova Imana yawe adufashe atubwire inzira dukwiye kujana n’ico dukwiye gukora.»
4 Umuhanuzi Yeremiya abishura ati: «Ndumvise ivyo musavye kandi ndabasabira kuri Yehova Imana yanyu nk’uko mubinsavye. Ijambo ryose Yehova abishura ndaribabwira. Nta na kimwe ndabahisha.»
5 Na bo bishura Yeremiya bati: «Yehova nabe icabona c’ukuri kandi cizigirwa kitwagiriza, nitutakora neza na neza nk’uko Yehova Imana yawe azoba adutegetse gukora abicishije kuri wewe. 6 Vyaba ari vyiza canke bibi, tuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yacu tugutumyeko. Bizoca bitugendera neza kubera ko tuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yacu.»
7 Nuko inyuma y’imisi cumi, Yehova avugana na Yeremiya. 8 Yeremiya ahamagara rero Yohanani mwene Kareya n’abakuru bose b’ingabo bari kumwe na we, ahamagara n’abantu bose kuva ku muto gushika ku mukuru+. 9 Ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli mwantumyeko ngo ndabatakambire avuze ati: 10 “Nimwaguma koko muri iki gihugu, nanje rero nzobubaka sinzobasambura, nzobateragira sinzobarandura, kuko nzokwicuza* kubera ivyago nabateje+. 11 Ntimugire ubwoba kubera umwami wa Babiloni mutinya+.”
Yehova avuze ati: “Ntimugire ubwoba kubera we, kuko ndi kumwe namwe kugira ndabakize nongere ndabarokore ntimugwe mu maboko yiwe. 12 Nzobumvira akagongwe, kandi na we azobumvira akagongwe+ abasubize mu gihugu canyu.
13 Mugabo nimwavuga muti: ‘Oya ntituzoba muri iki gihugu!’ maze ntimwumvire ijwi rya Yehova Imana yanyu, 14 mukavuga muti: ‘Oya, ahubwo tuzoja mu gihugu ca Misiri+. Hoho ntituzobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo dusonze. Aho ni ho tuzokwibera’, 15 ibi rero ni vyo Yehova ababwiye yemwe bantu bo mu Buyuda musigaye. Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Nimba mwiyemeje koko kuja mu Misiri kandi mukajayo kugira mubeyo*, 16 irya nkota nyene mutinya izobahambiriza mu gihugu ca Misiri, na ya nzara nyene mutinya izobakurikira mu Misiri, kandi ni yo muzopfira+. 17 Kandi abantu bose biyemeje kuja kuba mu Misiri bazokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza*. Nta n’umwe muri bo azorokoka canke ngo ahunge ivyago nzobateza.’”
18 Kuko Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Nk’uko ishavu ryanje n’uburake bwanje vyasutswe ku baba i Yeruzalemu+, ni ko uburake bwanje buzosukwa kuri mwebwe nimwaja mu Misiri. Muzoba umuvumo, mucike akajoreza, ibivume n’abo gucokorwa+. Kandi ntimuzokwigera musubira kubona aha hantu.”
19 Yemwe bantu bo mu Buyuda musigaye, Yehova yabagabishije. Ntimuje mu Misiri. Mumenye neza ko uyu musi ndababuriye 20 yuko ikosa ryanyu rizobahitana. Kuko mwantumye kuri Yehova Imana yanyu muti: “Dusabire kuri Yehova Imana yacu, maze utubwire ivyo Yehova Imana yacu yavuze vyose, kandi tuzobikora+.” 21 Uyu musi ndabibabwiye, yamara ntimuzokwumvira ijwi rya Yehova Imana yanyu canke ngo mukore ikintu na kimwe yantumye kubabwira+. 22 Mumenye neza rero ko inkota, inzara n’ikiza bizobicira aho hantu mwipfuza kuja kuba+.»
43 Yeremiya ahejeje kubwira abantu bose ayo majambo yose ya Yehova Imana yabo, akababwira akantu kose Yehova Imana yabo yari yamutumye kubabwira, 2 Azariya mwene Hoshaya, Yohanani+ mwene Kareya n’abagabo bose bita imbere, babwira Yeremiya bati: «Uriko uvuga ibinyoma. Yehova Imana yacu ntiyagutumye kuvuga ngo: “Ntimuje mu Misiri kubayo.” 3 Baruki+ mwene Neriya ni we ariko aratuma utubwira ivyo kugira tugwe mu maboko y’Abakaludaya, ngo batwice canke badutware mu bunyagano i Babiloni+.»
4 Nuko Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose n’abantu bose ntibumvira ijwi rya Yehova, ngo bagume mu Buyuda. 5 Ahubwo Yohanani mwene Kareya n’abakuru b’ingabo bose bagenda bajanye n’abantu bo mu Buyuda bari basigaye, bakaba bari bagarutse kuba mu Buyuda bavuye mu mahanga yose bari barashwiragiyemwo+. 6 Batwaye abagabo, abagore, abana, abakobwa b’umwami n’abantu bose Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami yari yarasigiye Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+. Batwaye n’umuhanuzi Yeremiya na Baruki mwene Neriya. 7 Maze baja mu gihugu ca Misiri kuko batumviye ijwi rya Yehova. Baragenda bashika i Tahapanesi+.
8 Yehova araheza avugana na Yeremiya i Tahapanesi ati: 9 «Tora amabuye manini uyanyegeze ahantu hataramutse hubakishijwe amatafari, ku bwinjiriro bw’inzu ya Farawo i Tahapanesi, maze uyarenzeko ubudongo*. Ubigire abagabo b’Abayuda barorera. 10 Uheze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzoshira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, kandi azosanza ihema ryiwe ry’ubwami kuri yo+. 11 Azoza asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azokwicwa n’ikiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azogirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azokwicwa n’inkota+. 12 Nzoturira amazu* y’imana za Misiri+, kandi Nebukadinezari azoyaturira, izo mana azitware ari imbohe. Azokwizingirako igihugu ca Misiri nk’uko umwungere yizingirako impuzu yiwe, kandi azovayo amahoro*. 13 Azomenagura inkingi* za Beti-Shemeshi* mu gihugu ca Misiri, kandi azoturira amazu* y’imana za Misiri.’”»
44 Imana yaravuganye na Yeremiya ku bijanye n’Abayuda bose baba mu gihugu ca Misiri+, ababa i Migidoli+, i Tahapanesi+, i Nofu*+ no mu gihugu ca Patirosi+, imubwira iti: 2 «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Mwarabonye ivyago vyose nateje Yeruzalemu+ n’ibisagara vyose vyo mu Buyuda. Ubu hasigaye ari ibihomvagurike, ata muntu ahaba+. 3 Ivyo vyatumwe n’ibibi bakoze kugira ngo bambabaze, mu kuja gushikanira ibimazi+ izindi mana no kuzisenga*, imana mutamenye, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu+. 4 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose b’abahanuzi, nkabatuma incuro n’izindi* ngo bababwire bati: ‘Ndabinginze ntimukore ico kintu gishisha nanka+.’ 5 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi kugira ngo bahindukire bahebe gukora ibibi, bareke gushikanira ibimazi izindi mana+. 6 Naciye nsuka uburake bwanje n’ishavu ryanje maze vyaka nk’umuriro mu bisagara vyo mu Buyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu. Haciye hasigara ari ibihomvagurike n’agahinga nk’uko biri uyu musi+.”
7 Yehova Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Kubera iki muriko mwikwegera ivyago bikomeye, bizotuma umugabo n’umugore, umwana n’uruyoya, bahona mu Buyuda ntihagire n’uwusigara? 8 Kubera iki mumbabarisha ibikorwa vy’amaboko yanyu, mugashikanira ibimazi izindi mana mu gihugu ca Misiri mwagiye kubamwo? Muzohona musigare muri umuvumo mube n’abo gucokorwa mu mahanga yose yo kw’isi+. 9 Mbega mwibagiye ibikorwa bibi vya ba sogokuruza banyu, n’ibikorwa bibi vy’abami b’Ubuyuda+, n’ibikorwa bibi vy’abagore babo+, n’ibikorwa bibi vyanyu bwite, n’ibikorwa bibi vy’abagore banyu+, vyakorerwa mu Buyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu? 10 Gushika n’uyu musi ntimwicishije bugufi*. Ntimwagize ubwoba+ canke ngo mukurikize amategeko yanje n’ivyagezwe vyanje nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+.”
11 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Niyemeje kubateza ivyago, ndandure Ubuyuda bwose. 12 Kandi nzofata abo mu Buyuda basigaye bari biyemeje kuja mu gihugu ca Misiri kubayo, bose ndabahonerezeyo+. Bazokwicwa n’inkota, bamarwe n’inzara. Kuva ku muto gushika ku mukuru, bazokwicwa n’inkota n’inzara. Bazoba ibivume, bacike akajoreza n’umuvumo, babe abo gucokorwa+. 13 Nzohana ababa mu gihugu ca Misiri, nk’uko nahanye Yeruzalemu, nkoresheje inkota, inzara n’ikiza*+. 14 Kandi abo mu Buyuda basigaye bagiye kuba mu gihugu ca Misiri, ntibazohunga canke ngo barokoke basubire mu Buyuda. Bazokwipfuza rwose gusubirayo ngo babeyo, mugabo ntibazosubirayo, kiretse bakeyi bazorusimba.”»
15 Abagabo bose bari bazi ko abagore babo bahora bashikanira ibimazi izindi mana, n’abagore bose bari bahagaze ng’aho, abo bose bakaba bari ishengero rinini, n’abantu bose baba mu gihugu ca Misiri+, i Patirosi+, bishura Yeremiya bati: 16 «Ivyo utubwiye mw’izina rya Yehova, ntituvyumviriza. 17 Ahubwo twiyemeje gukora ivyatwiviriye mu kanwa vyose: tuzoshikanira ibimazi umwamikazi w’ijuru* tumusukire n’amashikanwa y’ibinyobwa+, nk’uko twe na ba sogokuruza bacu, abami bacu n’abatware bacu twabigira mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu. Ico gihe twararya tugahaga kandi twari tumerewe neza. Ivyago twarabaza. 18 Mugabo kuva igihe twareka gushikanira ibimazi umwamikazi w’ijuru* no kumusukira amashikanwa y’ibinyobwa, twarabuze ibintu vyose, turahona kubera inkota n’inzara.»
19 Abagore bongerako bati: «Twarashikanira ibimazi umwamikazi w’ijuru* tukamusukira amashikanwa y’ibinyobwa. None ugira ngo ntitwaba twagishije inama abagabo bacu imbere yo gukora udukate tw’ibimazi dufise ishusho yiwe, n’imbere yo kumusukira amashikanwa y’ibinyobwa?»
20 Nuko Yeremiya abwira abantu bose, abagabo n’abagore babo, n’abantu bose bariko baramuvugisha ati: 21 «Ibimazi mwahora mushikanira mu bisagara vy’Ubuyuda no mu mabarabara y’i Yeruzalemu+, mwebwe na ba sogokuruza banyu, abami banyu, abatware banyu n’abanyagihugu, Yehova yaravyibutse bigaruka mu mutima wiwe. 22 Harageze aho Yehova ataba agishoboye kwihanganira ibibi mukora n’ibintu bishisha mwari mwarakoze, bituma igihugu canyu gitikizwa, gisigara ari akajoreza n’umuvumo, ata wukibamwo, nk’uko biri uyu musi+. 23 Ivyo vyago vyabashikiye nk’uko mubibona uyu musi, vyabaye kubera ko mwashikanye ivyo bimazi no kubera ko mwacumuye kuri Yehova, ntimwumvira ijwi rya Yehova, ntimwakurikiza amategeko yiwe, ivyagezwe vyiwe n’ivyibutswa vyiwe+.»
24 Yeremiya abandanya kubwira abantu bose n’abagore bose ati: «Nimwumve ijambo rya Yehova, mwese abo mu Buyuda muri mu gihugu ca Misiri. 25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ivyo mwe n’abagore banyu mwavuze n’akanwa kanyu mwarabikoze n’amaboko yanyu. Mwavuze muti: ‘Tuzoshitsa vy’ukuri indagano twagize zo gushikanira ibimazi umwamikazi w’ijuru* no kumusukira amashikanwa y’ibinyobwa+.’ Yemwe bagore, muzoshitsa vy’ukuri indagano zanyu, mukore ivyo mwaraganye.”
26 Nimwumve rero ivyo Yehova avuze, mwebwe mwese abo mu Buyuda muba mu gihugu ca Misiri: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ndahiye mw’izina ryanje rihambaye yuko ata muntu n’umwe wo mu Buyuda+, aho ari hose mu gihugu ca Misiri, azosubira kurahira mw’izina ryanje akavuga ngo: “Ndahiye Umukama Segaba Yehova Imana nzima+!” 27 Ngira ndabagumizeko ijisho kugira ndabateze ivyago aho kubagirira neza+. Kandi abantu bose bo mu Buyuda bari mu gihugu ca Misiri bazokwicwa n’inkota n’inzara, gushika bazimanganye+. 28 Bakeyi gusa ni bo bazokira inkota, bave mu gihugu ca Misiri basubire mu Buyuda+. Abo mu Buyuda bose basigaye baje kuba mu gihugu ca Misiri, bazoheza bamenye ko ijambo ryanje ari ryo ryarangutse, canke ko ari iryabo.’”»
29 «Yehova avuze ati: “Iki ni co kizobabera ikimenyetso c’uko nzobahanira aha hantu, ku buryo mumenya yuko ivyago navuze ko nzobateza bizoba vy’ukuri. 30 Jewe Yehova mvuze nti: ‘Ehe ngira ntume Farawo Hofura, umwami wa Misiri, agwa mu maboko y’abansi biwe no mu maboko y’abarondera kumwica, nk’uko natumye Zedekiya umwami w’Ubuyuda agwa mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, umwansi wiwe yarondera kumwica+.’”»
45 Mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, ng’ibi ivyo umuhanuzi Yeremiya yabwiye Baruki+ mwene Neriya, igihe yandika mu gitabu ivyo Yeremiya yamubwira+:
2 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze ku bikwerekeye Baruki: 3 “Wavuze uti: ‘Ndigorewe, kuko umubabaro wanje Yehova yawongeyeko intuntu! Ndambiwe no kuniha, kandi nta gahengwe ndaronka.’”
4 Umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ehe ivyo nubatse ngira ndabisambure kandi ivyo nateye ngira ndabirandure. Nzobikora mu gihugu cose+. 5 Mugabo wewe, uriko wironderera* ibintu bihambaye. Reka kubirondera.’”
“Kuko ngira nzane ivyago ku bantu bose*+”, ni ko Yehova avuze, “kandi aho uzoja hose nzotuma ukiza* ubuzima bwawe+.”»
46 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’amahanga+. 2 Ng’ibi ivyo yavuze kuri Misiri+, ku bijanye n’ingabo za Farawo Neko+ umwami wa Misiri, yari iruhande y’uruzi Efurate agatsindirwa i Karikemishi na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni. Hari mu mwaka ugira kane w’intwaro ya Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda. Yavuze ati:
4 Yemwe abagendera ku mafarasi, nimuyambike imigozi maze muyurire.
Nimuhagarare mu bibanza vyanyu, mwambare n’inkofero.
Nimusene amacumu, mwambare n’amakoti y’ivyuma.
5 “Ko mbona barandutse umutima?
Bariko basubira inyuma, abarwanyi babo babatsinze barabatsindagira.
Bataye umutwe barahunga, abarwanyi babo ntibanahindukiye.
Hose abantu barandutse umutima”, ni ko Yehova avuze.
6 “Abanyaruka ntibashobora guhunga, n’abarwanyi ntibashobora kuyanyaga.
Mu buraruko, hafi y’inkombe y’uruzi Efurate,
ni ho batsitariye baragwa+.”
7 Uwu ni nde aduga nk’uruzi Nili,
nk’inzuzi z’amazi asuriranya?
Nzotikiza igisagara n’abakibamwo.”
9 Mwa mafarasi mwe, nimuduge!
Mwa mikogote mwe, nimugende nk’abasazi!
Abarwanyi nibegere,
ab’i Kushi n’i Puti bazi gukoresha inkinzo+,
10 Uwo musi ni umusi w’Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo. Ni umusi w’ukwihora, umusi azokwihora abamurwanya. Inkota izorya ihage, inywe amaraso yabo ihimbe, kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, afise ikimazi co gutanga* mu gihugu co mu buraruko hafi y’uruzi Efurate+.
Imiti wayigwirije ubusa
kuko udashobora gukira+.
Kuko umurwanyi atsitara ku wundi,
bose bakagwa.»
13 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’ukuza kwa Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, aje gutikiza igihugu ca Misiri+:
14 «Nimubimenyeshe mu Misiri, mubitangaze i Migidoli+.
Nimubitangaze i Nofu* n’i Tahapanesi+
muvuge muti: “Nimuhagarare mu bibanza vyanyu mwitegure,
kuko inkota izomara abantu irya n’ino yanyu.
15 Kubera iki abantu bawe b’abanyenkomezi bakukumuwe?
Ntibashoboye kurinda,
kuko Yehova yabasunuriye hasi.
16 Batsitara ari benshi bakagwa.
Babwirana bati:
‘Haguruka dusubire iwacu no mu bacu,
kubera inkota ikaze.’”
18 “Ndirahiye jewe Imana nzima”, ni ko jewe Umwami yitwa Yehova Nyeningabo mvuze:
“Azoza* ameze nka kurya kwa Tabora+ mu misozi,
nka Karumeli+ hafi y’ikiyaga.
19 Ewe mukobwa aba mu Misiri,
tekera umuzigo uzojana mu bunyagano.
20 Misiri imeze nk’ishashi y’inka iteye igomwe,
mugabo udukoko tuguruka turyana, tuzoyitera tuvuye mu buraruko.
21 N’abasoda bayo b’abacangero bari muri yo bameze nk’inyana zivyibushe.
Mugabo na bo nyene basubiye inyuma bahungira icarimwe.
22 “Urwamo rwayo rumeze nk’urw’inzoka inyororomba ihunga,
kuko biruka kuri Misiri ari igitero gikomeye bitwaje amashoka,
nk’abicira ibiti*.
23 Bazokwicira ikibira cayo”, ni ko Yehova avuze, “naho wamengo nta wocinjiramwo.
Kuko ari benshi kurusha inzige, bakaba badaharurika.
24 Umukobwa wa Misiri azomaramazwa.
Azotangwa agwe mu maboko y’abantu bo mu buraruko+.”
25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”
26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.
Yakobo azogaruka, abeho atekanye ata kimuhungabanya,
ata n’umwe amutera ubwoba+.
28 Rero musavyi wanje Yakobo, ntutinye kuko ndi kumwe nawe”, ni ko Yehova avuze.
47 Yehova yaravuganye n’umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’Abafilisitiya+, imbere y’uko Farawo atikiza Gaza. 2 Yehova avuze ati:
«Ehe amazi araje avuye mu buraruko.
Azogwira abe uruzi rwuzuye.
Azokwuzura ahitane igihugu n’ibiri muri co vyose,
igisagara n’abakibamwo.
Abagabo bazokoma induru,
ababa mu gihugu bose baboroge.
3 Ba sebibondo nibumva ukudida ibinono kw’impfizi z’amafarasi y’umwansi,
urwamo rw’imikogote yiwe y’intambara
n’uguhinda kw’amapine yiwe,
ntibazonahindukira kuraba abana babo
kubera ugucika inkokora,
4 kuko umusi uriko uraza uzohonya Abafilisitiya bose+.
Uzorandura i Tiro+ n’i Sidoni+ abari basigaye bahora babafasha.
Ashikeloni yanumijwe+.
Yemwe masigarira yo mu kiyaya caho,
muzogeza ryari kwikebagura+?
Uzogeza ryari kutaguma hamwe?
Subira mu rwubati*.
Ruhuka ucereze.
7 Yoguma hamwe gute
kandi Yehova yayihaye itegeko?
Yayishinze igikorwa co kurwanya
Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga+.»
48 Ku bijanye na Mowabu+, Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati:
«I Nebo+ haragowe, kuko hatikijwe!
I Kiriyatayimu+ hateterejwe harafatwa.
Ubuhungiro butekanye* bwateterejwe buramenagurwa+.
2 Mowabu ntigishemagizwa.
Abansi bateguye ivyo kuhatembagaza bari i Heshiboni+, bati:
“Nimuze tuhazimanganye, hareke kuba ihanga.”
Na wewe Madumeni nucereze,
kuko inkota iri inyuma yawe.
4 Mowabu yasenyutse.
Abana baho batoyi bariko baraboroga.
5 Baduga umudugo w’i Luhiti barira.
Ku nzira imanuka ivuye i Horonayimu humvikana ababoroga kubera ivyo vyago+.
6 Nimuhunge, munyage amagara.
Nimube nk’igiti c’umuberoshi kiri mu gahinga.
7 Kubera ko wizigira ibikorwa vyawe n’amatunga yawe,
na wewe uzofatwa.
Kandi imana Kemoshi+ izojanwa mu bunyagano,
ijane n’abaherezi bayo n’abatware bayikorera.
Ikiyaya kizohona,
akarere gashashe* na ko kazimanganywe, nk’uko Yehova yabivuze.
9 Nimushingire Mowabu ikimenyetso ku nzira,
kuko nihasenyuka, abaho bazohunga,
ibisagara vyaho bicike akajoreza,
ata n’uwubibamwo+.
10 Arakavumwa uwukora igikorwa ca Yehova n’urwangara!
Arakavumwa uwima inkota yiwe amaraso!
Ntibacuranuwe ngo bakurwe mu combo kimwe bashirwe mu kindi,
kandi ntibigeze baja mu bunyagano.
Ni co gituma akanovera kabo kagumye ari ka kandi,
n’akamoto kabo ntikahinduka.
12 “Ku bw’ivyo mu misi iri mbere”, ni ko Yehova avuze, “nzorungika ababacuranguza. Bazobacurika bacuranure ivyombo vyabo, basavye n’imibindi yabo minini. 13 Kandi Abanyamowabu bazomaramazwa na Kemoshi, nk’uko Abisirayeli bamaramajwe na Beteli bari bizeye+.
14 Mwubahuka gute kuvuga ngo: ‘Turi abarwanyi b’intwari biteguriye urugamba+’?”
ni ko Umwami yitwa Yehova Nyeningabo+ avuze.
17 Abari irya n’ino yabo bose bazosangira na bo umubabaro vy’ukuri,
abo bose bazi izina ryabo.
Nimubabwire muti: “Ewe kuntu ya nkoni ikomeye ivunywe, ca kibando c’ubwiza!”
18 Manuka uve mu cubahiro wari ufise,
wicare unyotewe*, ewe mukobwa uba i Diboni+,
kuko uwuhonya Mowabu aje kugutera.
Azosambura ibibanza vyawe bikingijwe ibihome+.
19 Hagarara iruhande y’ibarabara witegereze, wewe uba i Aroweri+.
Baza umugabo ariko arahunga n’umugore ayanyaze, uti: “Habaye iki?”
20 Mowabu yamaramaye kandi yarandutse umutima.
Nimuboroge, musemerere.
Nimutangaze i Arunoni+ yuko Mowabu yatikijwe.
21 Imana yaciriye urubanza akarere gashashe*+, Holoni, Yahazi+, Mefati+, 22 Diboni+, Nebo+, Beti-Dibulatayimu, 23 Kiriyatayimu+, Beti-Gamuli, Beti-Meyoni+, 24 Keriyoti+, Bozira n’ibisagara vyose vyo mu gihugu ca Mowabu, ivya kure n’ivya hafi.
26 “Nimumuboreze+, kuko yihambaje kuri Yehova+.
Mowabu yikumbagaza mu bidahwe vyiwe,
kandi asigaye ari akamenyo.
27 Mbega Isirayeli ntiyari akamenyo kuri wewe+?
None wasanze ari umusuma
ko wazunza umutwe ukamuvuga nabi?
28 Yemwe ababa i Mowabu, nimuve mu bisagara muje kuba ku rutare,
mube nk’inuma yubaka icari cayo ku manga.”»
29 «Twarumvise ubwishime bwa Mowabu: aribona cane.
Twarumvise ukwiyemera kwiwe, ubwishime bwiwe, ubwibone bwiwe n’ukwishira hejuru kw’umutima wiwe+.»
30 «“Ndazi uburake bwiwe,
mugabo amajambo yiwe ata co amaze nta co azovamwo.
Nta co bazoshikako”, ni ko Yehova avuze.
Imivyaro yawe itagase yajabutse ikiyaga.
Yashitse ku kiyaga, ishika i Yazeri.
Uwuhonya yamanukiye
ivyamwa vyawe vyera mu ci n’umwimbu wawe w’inzabibu+.
Ntumye umuvinyu utaba ukiboneka mu nganiro z’umuvinyu.
Nta n’umwe azogana* yiha akaruru k’umunezero+.
Hazoba akaruru k’ubundi bwoko.”»
34 «“Humvikana induru kuva i Heshiboni+ gushika i Eleyale+.
N’amazi y’i Nimurimu azokama+.
35 Nzotuma i Mowabu hadasubira kuboneka
uwujana ishikanwa mu kibanza co gusengeramwo*
n’uwushikanira ibimazi imana yiwe”, ni ko Yehova avuze.
36 “Ni co gituma umutima wanje uzocura intimba* nk’umwironge* kubera Mowabu+.
Kandi umutima wanje uzocura intimba* nk’umwironge* kubera abagabo b’i Kiri-Heresi.
Kuko itunga yaronse rizoyogera.
Kuko namenaguye Mowabu nk’umubindi bataye”,
ni ko Yehova avuze.
39 “Ewe kuntu Mowabu yarandutse umutima! Nimuboroge!
Ewe kuntu yahindukije umugongo kubera ibimaramare.
Mowabu isigaye ari akamenyo,
ikintu giteye ubwoba ku bayikikuje bose.”»
40 «Kuko Yehova avuze ati:
41 Ibisagara bizofatwa,
n’ibibanza vyiwe bikomeye vyigarurirwe.
Kuri uwo musi, umutima w’abarwanyi b’i Mowabu
uzomera nk’umutima w’umugore ariko aribaruka.”»
43 Ubwoba, ikinogo n’umutego biri imbere yawe,
ewe muntu uba i Mowabu”, ni ko Yehova avuze.
44 “Uwo wese azohunga kubera ubwoba azogwa mu kinogo,
uwuzova mu kinogo na we afatwe n’umutego.”
“Kuko nzohana Mowabu umwaka nashinze niwashika”, ni ko Yehova avuze.
45 “Abariko barahunga bahagaze mu gitutu c’i Heshiboni ata nkomezi bafise.
Kuko hari umuriro uzova i Heshiboni,
urubeya rukava hagati muri Sihoni+.
Uzorigata uruhanga rwa Mowabu
n’agahanga k’abarwanyi bakunda intambara+.”
46 “Uragowe Mowabu we!
Abantu basenga Kemoshi+ bayogeye.
Kuko abahungu bawe batwawe ari imbohe,
n’abakobwa bawe batwarwa mu bunyagano+.
47 Mugabo mu misi y’iherezo, nzokoranya abantu b’i Mowabu bagizwe imbohe”, ni ko Yehova avuze.
“Urubanza rwa Mowabu rugarukiye aha+.”»
49 Ku bijanye n’Abamoni+, Yehova avuze ati:
«Mbega Isirayeli nta bahungu ifise?
Nta samuragwa ifise?
Kubera iki none Malikamu*+ yigaruriye akarere ka Gadi+?
Kubera iki abayisenga baba mu bisagara vya Isirayeli?»
2 «“Ku bw’ivyo, mu misi iri imbere”, ni ko jewe Yehova mvuze,
“nzokwumvikanisha ikimenyetso c’intambara* yo kurwanya igisagara ca Raba+ c’Abamoni+.
Kizosigara ari ikirundo c’ibihomvagurike,
kandi udusagara tucegukira* tuzoturirwa.”
“Isirayeli izokwigarurira abari barayigaruriye+”, ni ko jewe Yehova mvuze.
3 “Boroga Heshiboni we, kuko igisagara ca Ayi gitikijwe!
Nimwihe akaruru, yemwe dusagara twegukira Raba!
Nimwambare amagunira.
Nimuboroge, munyuragire mu mpongore z’amabuye*,
kuko Malikamu izojanwa mu bunyagano,
ijane n’abaherezi bayo n’abatware bayikorera+.
4 Kubera iki wiratira ibiyaya,
ukiratira ikiyaya cawe cimbuka*, ewe mukobwa w’igihemu,
wizigira amatunga yawe,
ukavuga uti: ‘Ni nde azoza kuntera?’”»
5 «Jewe Umukama Segaba Yehova Nyeningabo mvuze nti: “Ngira ndakuzaneko ikintu giteye ubwoba,
kivuye ku bari irya n’ino yawe bose.
Muzoshwiragizwa mu mpande zose,
kandi nta wuzokwegeranya abazoba bariko barahunga.”»
6 «“Mugabo mu nyuma nzokwegeranya Abamoni bagizwe imbohe”, ni ko jewe Yehova mvuze.»
7 Ku bijanye na Edomu, Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Mbega i Temani nta bukerebutsi bukiriyo+?
Mbega abafise ugutegera nta mpanuro nziza bagifise batanga?
Mbega ubukerebutsi bwabo bwaraboze?
8 Nimuhunge, musubire inyuma!
Nimuhungire epfo mu myonga, yemwe ababa i Dedani+!
Kuko nzoteza ivyago Esawu
nihagera ko nitaho ivyiwe.
9 Hamwe abasoroma inzabibu boza iwawe,
mbega ntibosigaza inzabibu abandi botoragura?
Ibisuma bije mw’ijoro,
vyosiga vyononye ibintu uko bigomba+.
10 Mugabo nzokwambura Esawu asigare ari amenya.
Nzoshira ahabona ibibanza yinyegezamwo
kugira ntashobore kwinyegeza.
12 Kuko Yehova avuze ati: «Raba! Ko abataciriwe urubanza rwo kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, wumva weho wogenda udahanywe na gato? Ntuzogenda udahanywe, kuko utegerezwa kukinywako+.»
13 «Kuko nirahiye jewe ubwanje», ni ko jewe Yehova mvuze, «yuko Bozira izocika akajoreza+, icokorwe, itikizwe, icike n’umuvumo. Kandi ibisagara vyaho vyose bizosigara ari ibihomvagurike ibihe vyose+.»
14 Hari inkuru numvise ivuye kuri Yehova.
Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo:
«Nimukoranire hamwe muze kumutera.
Nimwitegurire urugamba+.»
16 Uguhinda agashitsi wahora uteza
n’ubwibone bw’umutima wawe vyaraguhenze
wewe uba mu bwihisho bwo mu rutare,
ukaba ku murambi muremure cane.
Naho wubaka icari cawe hejuru cane nk’inkona, nzokumanurayo»,
ni ko Yehova avuze.
17 «Kandi igihugu ca Edomu kizocika akajoreza koko+. Umuntu wese azoca iruhande yaco azocitegereza ajorewe, avuze agahwa kubera ivyago vyose vyagishikiye. 18 Kurya vyagenze igihe Sodomu na Gomora n’ibisagara bibanyi vyatikizwa+», ni ko Yehova avuze, «nta n’umwe azobayo, kandi nta muntu azokwimukirayo+.
19 Raba! Hari umuntu azoduga nk’intambwe+ ivuye mu bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani, aje gutera uburagiro butekanye. Mugabo mu kanya gatoyi nzotuma bahunga* igihugu cabo. Uwo natoye ni we nzoshiraho ngo akiganze. Mbega hari uwumeze nkanje? Hari uwompigisha? Hari umwungere yompagarara imbere+? 20 Nimwumve rero yemwe ingingo* Yehova yafatiye Edomu, n’ivyo yiyumviriye gukorera ababa i Temani+:
Ni ukuri, imyagazi yo mu busho izoburutwa.
Azotuma aho yahora iba hacika umusaka kubera bo+.
21 Isi yumvise ijwi ry’ugutemba kwabo ica iratigita.
Hari amaborogo!
Ijwi ryumvikanye gushika ku kiyaga Gitukura+.
Kuri uwo musi umutima w’abarwanyi ba Edomu
uzoba nk’umutima w’umugore ariko aribaruka.»
«Ababa i Hamati+ n’i Arupadi bamaramaye,
kuko bumvise inkuru mbi.
Bashongeshejwe n’ubwoba.
Mu kiyaga hari amaganya adashobora guhwama.
24 Ab’i Damasiko bacitse intege.
Bahindukiye ngo bahunge mugabo biranka kubera bataye umutwe.
Bafashwe n’amaganya n’umubabaro
nk’umugore ariko aribaruka.
25 Vyagenze gute ngo igisagara cahayagizwa,
igisagara c’umwigino ntigihebwe?
26 Kuko abasore baho bazogwa mu bibanza rusangi,
kandi kuri uwo musi abasoda bose bazohona», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
27 «Nzoturira uruzitiro rw’i Damasiko,
kandi umuriro uzoherengeteza iminara ikomeye ya Beni-Hadadi+.»
28 Ku bijanye na Kedari+ n’ubwami bw’i Hazori bwatikijwe na Nebukadinezari* umwami wa Babiloni, Yehova avuze ati:
«Nimuhaguruke muduge i Kedari,
muhonye abo mu Buseruko.
29 Amahema yabo n’amasho yabo bizotwarwa,
hamwe n’ibitambara vy’amahema yabo n’ibintu vyabo vyose.
Ingamiya zabo zizotwarwa.
Abantu bazosemerera bababwira bati: “Hari ubwoba irya n’ino!”»
30 «Nimuhunge, muje kure!
Nimuje kuba epfo mu myonga, yemwe ababa i Hazori», ni ko Yehova avuze.
«Kuko Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yateguye umugambi wo kubagirira nabi,
yiyumvira uburyo bwo kubakorera ikibi.»
31 «Nimuhaguruke muje gutera ihanga ryifitiye amahoro,
ryibereye mu mutekano», ni ko Yehova avuze.
«Nta marembo canke ivyugazo rifise. Bibera ukwa bonyene.
32 Ingamiya zabo zizosahurwa,
ibitungwa vyabo vyinshi na vyo binyagwe.
Nzosanzariza mu mpande zose*
bamwe bafise imisaya imoye+.
Nzobateza ivyago biturutse impande zose», ni ko Yehova avuze.
33 «I Hazori hazocika ahantu haba imbwebwe,
hame ari umusaka.
Nta n’umwe azobayo,
kandi nta muntu azokwimukirayo.»
34 Ibi ni vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya ku bijanye na Elamu+ mu ntango y’intwaro ya Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda: 35 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ehe ngira mvune umuheto wa Elamu+ utuma bagira inkomezi*. 36 Nzozana kuri Elamu ya miyaga ine ivuye ku mpera zine z’ijuru, ndabasanzarize muri iyo miyaga yose*. Abantu b’i Elamu bashwiragijwe nta hanga batazoshikamwo.”»
37 Yehova avuze ati: «Nzomenagurira Abelamu imbere y’abansi babo n’imbere y’abarondera kubica. Kandi nzobazanako ivyago, ndabasukeko ishavu ryanje rirurumba. Nzorungika inkota ibome inyuma gushika baherengeteye.»
38 «Nzoshinga intebe yanje y’ubwami i Elamu+, kandi nzorandurayo umwami n’abatware», ni ko Yehova avuze.
39 «Mugabo mu kiringo ca nyuma*, nzokoranya ab’i Elamu bagizwe imbohe», ni ko Yehova avuze.
50 Ibi ni vyo Yehova yavuze ku bijanye na Babiloni+, ku bijanye n’igihugu c’Abakaludaya, biciye ku muhanuzi Yeremiya:
2 «Nimubimenyeshe mu mahanga, mubitangaze.
Nimushinge ikimenyetso*, mubitangaze.
Ntihagire ico munyegeza.
Nimuvuge muti: “Babiloni yafashwe+.
Merodaki yatekewe n’ubwoba.
Ibishusho vya Babiloni vyamaramaye.
Ibigirwamana vyaho bisesemye* vyatekewe n’ubwoba.”
3 Kuko hari ihanga rije gutera Babiloni rivuye mu buraruko+.
Rituma igihugu caho kiba akajoreza.
Nta n’umwe abayo.
Abantu n’ibikoko vyahunze,
biragenda.»
4 Yehova avuze ati: «Muri iyo misi no muri ico gihe, abo muri Isirayeli n’abo mu Buyuda bazoza bari kumwe+, bagenda bararira+, kandi bazorondera Yehova Imana yabo bari kumwe+. 5 Bazobaza inzira ija i Siyoni berekejeyo amaso+, bavuge bati: “Nimuze twifatanye na Yehova mw’isezerano ryamaho ritazokwibagirwa+.” 6 Abantu banje babaye nk’ubusho bw’intama zazimiye+. Abungere babo ni bo batumye bata inzira+. Babajanye ku misozi, bakaza barabayerereza bava kuri uyu musozi canke uyu murambi baja ku wundi. Baribagiye ahantu habo ho kuruhukira. 7 Abababona bose barabamize+, kandi abansi babo bavuze bati: “Nta caha kitwagira, kuko bacumuye kuri Yehova, bacumura kuri Yehova we soko ry’ubugororotsi*, akaba n’icizigiro ca ba sekuruza babo.”»
8 «Nimuhunge muve muri Babiloni,
muve mu gihugu c’Abakaludaya+,
mube nk’ibitungwa biyobora ibindi mu busho.
9 Kuko ngira ntumeko ishengero ry’amahanga akomeye avuye mu gihugu co mu buraruko+,
baze gutera Babiloni.
Bazoza batonze urugamba bamutere,
bamufate bazananye muri urwo ruhande.
Ababusahura bose bazohaga vy’ukuri+», ni ko Yehova avuze.
Kuko mwagumye mwikina amatavu* nk’ishashi y’inka mu vyatsi,
muguma mwanaga nk’impfizi z’amafarasi.
Uwabibarutse yavunitse umutima.
Raba! Ni ihanga ryo hanyuma y’ayandi mahanga.
Ni agahinga katagira amazi. Ni ubugaragwa+.
Uwuzoca iruhande yaho wese azohatamarira yajorewe,
avuze agahwa kubera ivyago vyose vyahashikiye+.
15 Nimumuvugirize akaruru k’intambara impande zose.
Yishikanye*.
Nimumwihore,
mumukorere nk’ivyo yakoze+.
Kubera inkota ikaze, umwe wese azosubira mu b’iwabo,
umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+.
17 Abisirayeli ni intama zashwiragiye+. Intambwe zarabasanzaje+. Ubwa mbere, umwami wa Ashuri yarabariye arabamara+, hanyuma Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aguguna amagufa yabo+. 18 Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Nzokorera umwami wa Babiloni n’igihugu ciwe nk’ivyo nakoreye umwami wa Ashuri+. 19 Kandi nzogarukana Isirayeli mu buragiro bwiwe+. Azorisha i Karumeli n’i Bashani+. Azorisha no mu misozi ya Efurayimu+ n’iya Gileyadi+, ahage.”»
20 Yehova avuze ati: «Muri iyo misi no muri ico gihe,
ikosa rya Isirayeli rizoronderwa,
mugabo ntirizoboneka,
n’ibicumuro vy’Ubuyuda ntibizoboneka,
kuko nzobabarira abo nzoba nasigaje+.»
21 «Genda utere igihugu ca Meratayimu, utere n’ababa i Pekodi+.
Nibagandagurwe bahone*», ni ko Yehova avuze.
«Nukore ivyo ngutegetse vyose.
22 Hari urwamo rw’intambara mu gihugu,
hari ivyago bikomeye.
23 Ewe kuntu ya nyundo yahora imenagura isi yose yavunaguwe, ikameneka+!
Ewe kuntu Babiloni asigaye ari akajoreza mu mahanga+!
24 Ewe Babiloni, naraguteze umutego urafatwa
kandi ntiwabimenye.
Warabonetse urafatwa+,
kuko Yehova ari we warwanije.
Kuko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo
afise igikorwa mu gihugu c’Abakaludaya.
26 Nimutere Babiloni muvuye mu mihingo ya kure+.
Nimwugurure ibigega vyiwe+.
Nimumurunde nka kurya kw’ibirundo vy’intete.
Nimumutikize azimangane+,
ntihagire n’umwe asigarana.
Ayo mashuri aragowe, kuko umusi wayo ushitse,
igihe co kubazwa ivyo yakoze!
28 Hari urwamo rw’abariko barahunga,
abariko banyaga amagara bavuye mu gihugu ca Babiloni
kugira ngo bamenyeshe i Siyoni ko Yehova Imana yacu yihoye,
ko yihoye kubera urusengero rwiwe+.
Nimukambike irya n’ino kugira mumutere. Ntihagire n’umwe acaruka.
Nimumwishure ibihwanye n’ivyo yakoze+.
Nimumukorere nk’ivyo yakoze+
kuko yagize ubwibone imbere ya Yehova,
imbere y’Umweranda wa Isirayeli+.
30 Abasore biwe rero bazogwa mu bibanza rusangi+,
kandi kuri uwo musi abasoda biwe bose bazohona*», ni ko Yehova avuze.
31 «Ehe ngira ndakurwanye+, wa mugarariji we+», ni ko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo avuze,
«kuko umusi wawe uzoza ata kabuza, igihe nzokubaza ivyo wakoze.
Nzoturira ibisagara vyawe,
kandi umuriro uzoherengeteza ibintu vyose bigukikuje.»
33 Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Abo muri Isirayeli no mu Buyuda baracinyizwa,
kandi ababagize imbohe bose barabagumije+.
Baranse kubarekura+.
34 Ariko Umucunguzi wabo arakomeye+.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.
35 Yehova avuze ati: «Inkota izotikiza Abakaludaya,
itikize ababa i Babiloni n’abatware baho n’inkerebutsi zaho+.
36 Inkota izotikiza abavuga amajambo ata co amaze*, kandi bazokorana ubupfu.
Inkota izotikiza abarwanyi baho, kandi bazotekerwa n’ubwoba+.
37 Inkota izotikiza amafarasi yabo n’imikogote yabo y’intambara,
itikize n’abanyamahanga bose babayo,
kandi bazomera nk’abagore+.
Inkota izoza ku matunga ya Babiloni asahurwe+.
38 Amazi yiwe azokabona, akame+.
Ni igihugu c’ibishusho bibajwe+.
Baguma bakora nk’abasazi kubera berekwa ibintu biteye ubwoba.
39 Ku bw’ivyo, ibikoko vyo mu bugaragwa bizobana n’ibikoko vyomanga,
40 «Kurya vyagenze igihe Imana yatikiza Sodomu na Gomora+ n’ibisagara bibanyi+», ni ko Yehova avuze, «nta n’umwe azobayo, kandi nta muntu azokwimukirayo+.
41 Ehe! Abantu bariko baraza bava mu buraruko.
Ihanga rikomeye n’abami bahambaye+ bazotumwako
baze bavuye mu mihingo ya kure cane y’isi+.
42 Bakoresha umuheto n’agacumu+.
Ni ba ruburakigongwe kandi ntibazogira imbabazi+.
Iyo bariko bagendera ku mafarasi,
urwamo rwabo rumeze nk’ukuroha kw’ikiyaga+.
Batonze urugamba nk’umuntu umwe kugira ngo bakurwanye, ewe mukobwa wa Babiloni+!
Afashwe n’amaganya
n’ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.
44 Raba! Hari umuntu azoduga nk’intambwe ivuye mu bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani, aje gutera uburagiro butekanye. Mugabo mu kanya gatoyi nzotuma bahunga igihugu cabo. Uwo natoye+ ni we nzoshiraho ngo akiganze. Mbega hari uwumeze nkanje? Hari uwompigisha? Hari umwungere yompagarara imbere+? 45 Nimwumve rero yemwe ingingo* Yehova yafatiye Babiloni+ n’ivyo yiyumviriye gukorera igihugu c’Abakaludaya:
Ni ukuri, imyagazi yo mu busho izoburutwa.
Azotuma aho yahora iba hacika umusaka kubera bo+.
51 Yehova avuze ati:
2 Nzorungikira Babiloni abagosozi bamugosore,
igihugu ciwe gisigare cera.
Ku musi w’ivyago bazomutera ku mpande zose+.
3 Uwurasisha umuheto ntawutegure*.
Kandi ntihagire uwuhaguruka yambaye ikoti yiwe y’ivyuma.
Ntimwumvire impuhwe imisore ya Babiloni+.
Nimutikize ingabo ziwe zose.
5 Kuko Isirayeli n’Ubuyuda batahebwe n’Imana yabo Yehova Nyeningabo ngo bapfakare+.
Ariko igihugu c’Abakaludaya* cagirwa n’ivyaha vyinshi imbere ya wa Mweranda wa Isirayeli.
Ntimuhone kubera ikosa ryiwe.
Kuko ari igihe c’uko Yehova yihora.
Amusubirije mu nkoko ivyo yakoze+.
7 Babiloni yabaye igikombe c’inzahabu mu kuboko kwa Yehova.
Babiloni yaboreje isi yose.
8 Babiloni yatemvye giturumbuka aravunika+.
Nimumuborogere+.
Nimurondere amavuta yo kuvura* ububabare bwiwe. Hari aho yokira.»
9 «Twaragerageje kuvura Babiloni mugabo ntiyakira.
Nimumuhebe twigire, umwe wese yigire mu gihugu ciwe+.
Kuko ivyaha vyiwe vyashitse mw’ijuru.
Vyararundanye bishika no mu bicu+.
Nimuze tumenyekanishe i Siyoni igikorwa ca Yehova Imana yacu+.»
11 «Nimusene imyampi+. Nimutore inkinzo z’umuzingi*.
Yehova arihoye, arihoye kubera urusengero rwiwe.
12 Nimushinge ikimenyetso*+ co gutera inzitiro za Babiloni.
Nimugwize* abarinzi, mushireho inderetsi.
Nimutegure abantu bo kwinyegeza ngo bahatere,
kuko ari Yehova yateguye uwo mugambi,
kandi azoshitsa ivyo yasezeranye ko azokorera ababa i Babiloni+.»
13 «Ewe mugore uba ku mazi menshi+,
wewe ufise amatunga menshi+,
iherezo ryawe rirashitse, inyungu wahora uronka zigarukiye aho*+.
14 Yehova Nyeningabo arirahiye ati:
“Iwawe nzohuzuza abagabo benshi nk’inzige,
na bo bazokwigambako bavuza akaruru k’intsinzi+.”
15 Ni we yaremye* isi akoresheje ububasha bwiwe,
akomeza ubutaka bwimbuka akoresheje ubukerebutsi bwiwe+,
16 Iyo avuze,
amazi yo kw’ijuru aca aja mu ruhagarara,
kandi atuma ibicu* biduga bivuye ku mpera y’isi.
17 Umuntu wese akorana ubupfu nk’uwutagira ubumenyi.
Umucuzi wese azomaramara kubera ibishusho yakoze+,
kuko ibishusho vyiwe bikozwe mu cuma* ari ikinyoma.
18 Nta co bimaze*+. Ni ibikorwa vy’akamenyo.
Umusi Imana yabihagurukiye bizohona.
Yitwa Yehova Nyeningabo+.»
20 «Uri ubuhiri ndwanisha, ikirwanisho co mu ntambara,
kuko nzogukoresha mu gusavya amahanga.
Nzogukoresha mu guhonya ubwami.
21 Nzogukoresha mu gusavya ifarasi n’uwuyigenderako.
Nzogukoresha mu gusavya umukogote w’intambara n’uwuwugenderamwo.
22 Nzogukoresha mu gusavya umugabo n’umugore.
Nzogukoresha mu gusavya umutama n’agahungu.
Nzogukoresha mu gusavya umusore n’inkumi.
23 Nzogukoresha mu gusavya umwungere n’ubusho bwiwe.
Nzogukoresha mu gusavya umurimyi n’ibitungwa arimisha bifatanijwe ari bibiri.
Nzogukoresha mu gusavya ba buramatari n’abatware bo hasi.
24 Nzokwishura Babiloni n’ababa mu Bukaludaya bose
ibibi vyose bakoreye i Siyoni mu maso yanyu+», ni ko Yehova avuze.
Nzoramvura ukuboko ndakurwanye, ndagutembagaze ngukuye mu bitandara,
ndakugire umusozi wahiye ugatokombera.»
26 «Nta buye rigumya imfuruka canke ry’umushinge abantu bazokura iwawe,
kuko uzocika umusaka ibihe vyose+», ni ko Yehova avuze.
27 «Nimushinge ikimenyetso* mu gihugu+.
Nimuvuze inzamba mu mahanga.
Nimutore* amahanga yo kumurwanya.
Nimutumeko ubwami bwa Ararati+, ubwa Mini n’ubwa Ashikenazi+ bumurwanye.
Nimushinge igikorwa uwinjiza abantu mu gisoda kugira amurwanye.
Nimutume amafarasi aduga nk’inzige zikiri nto.
28 Nimutore* amahanga yo kumurwanya,
abami b’Ubumedi+, ba buramatari baho n’abatware baho bose bo hasi
n’ibihugu vyose baganza.
29 Isi izotigita yongere ijugumire,
kuko ivyo Yehova yiyumviriye kugirira Babiloni azobishitsa,
atume igihugu ca Babiloni kiba akajoreza, ata muntu akibamwo+.
30 Abarwanyi ba Babiloni baretse kurwana.
Bicaye mu bibanza vyabo bikomeye.
Inkomezi zabaheranye+.
Babaye nk’abagore+.
Inzu ziwe zaturiwe.
Ivyugazo vyiwe vyavunywe+.
31 Uwujejwe gutwara amakete* ariruka agahura n’uwundi,
n’intumwa ikiruka igahura n’iyindi,
ngo bamenyeshe umwami wa Babiloni ko igisagara ciwe cafashwe ku mpande zose+,
32 ko aho bajabukira uruzi* hafashwe+,
ko amato akozwe mu rufunzo yaturijwe umuriro,
be n’uko abasoda barandutse umutima.»
33 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati:
«Umukobwa wa Babiloni ameze nk’imbuga yo mu murima*.
Harageze ko ahonyangwa.
Vuba cane, igihe c’iyimbura kizomuzako.»
Yanteretse hasi nk’icombo kigaragara.
Yaramize nk’ikiyoka kinini+.
Yujuje inda yiwe ibintu vyanje vyizavyiza.
Yaranyirukanye*.
35 “Ikibi nakorewe kigakorerwa n’umubiri wanje kirakaba kuri Babiloni!”, ni ko uwuba i Siyoni avuze+.
“Amaraso yanje aragahumira ababa mu Bukaludaya!”, ni ko Yeruzalemu avuze.»
36 Yehova rero avuze ati:
Nzokamya ikiyaga ciwe, nkamye n’amariba yiwe+.
37 Babiloni azocika ibirundo vy’amabuye+,
ahantu imbwebwe ziba+,
asigare ari akajoreza n’ikintu co kuvugiriza agahwa,
ahantu ata muntu aba+.
38 Bose hamwe bazoroha nk’intambwe z’imikangara*.
Bazotontoma nk’ivyana vy’intambwe.»
39 «Nibamara gushwangamuka, nzobatereka inzimano zabo ndababoreze
kugira ngo bigine+.
Bazoca basinzira itiro ridahera,
kandi ntibazogenda bikanguye+», ni ko Yehova avuze.
40 «Nzobamanukana gukererwa nk’imyagazi y’intama,
nk’impfizi z’intama n’iz’impene.»
Ehe raba Babiloni yacitse akajoreza mu mahanga!
42 Ikiyaga caduze gutera Babiloni.
Imipfunda yaco myinshi yamupfutse.
43 Ibisagara vyiwe vyacitse akajoreza, ahantu hatagira amazi, h’ubugaragwa.
Bisigaye ari ahantu ata muntu n’umwe azoba canke ngo hagire uwuhaca+.
Amahanga ntazosubira kuyirukira
kandi uruzitiro rwa Babiloni ruzogwa+.
45 Sohoke muve iwe, bantu banje+!
Nimunyage amagara+ ntimuhitanwe n’ishavu rirurumba rya Yehova+.
46 Ntimuranduke umutima canke ngo mutinye kubera inkuru izokwumvikana mu gihugu.
Muri uyu mwaka hazoza iyi nkuru,
mu wukurikira haze iyindi,
inkuru y’ubukozi bw’ikibi mu gihugu, n’iy’abatware batana mu mitwe.
47 Ehe raba rero! Mu misi iri imbere,
nzohagurukira ibishusho bibajwe vya Babiloni.
Igihugu ciwe cose kizomaramara,
abantu biwe bishwe bagweyo+.
48 Ijuru n’isi n’ibirimwo vyose
bizovuza akaruru k’umunezero vyigamba kuri Babiloni+,
kuko abazomutikiza bazoza bavuye mu buraruko+», ni ko Yehova avuze.
50 Yemwe abakize inkota, nimugume mugenda. Ntimuhagarare+.
Nimwibuke Yehova muri kure,
kandi mwiyumvire Yeruzalemu+.»
51 «Twaramaramaye kuko twumvise amajambo y’abaducokora.
Mu maso twuzuye agateterwe,
kubera abanyamahanga baje gutera ibibanza vyeranda vy’inzu ya Yehova+.»
52 «Ehe raba rero! Mu misi iri imbere», ni ko Yehova avuze,
«nzohagurukira ibishusho vyiwe bibajwe,
kandi mu gihugu ciwe cose abakomeretse bazoniha+.»
53 «Naho Babiloni yoduga mw’ijuru+,
naho yokomeza ibibanza vyiwe bikomeye kandi birebire cane,
nzorungika abamutikiza+», ni ko Yehova avuze.
54 «Umviriza! Hari amaborogo avuye i Babiloni+,
urwamo rw’ivyago bikomeye ruvuye mu gihugu c’Abakaludaya+,
55 kuko Yehova atikije Babiloni
kandi azonumya ijwi ryiwe rikomeye.
Urwamo rw’abansi biwe ruzoba nk’urw’amazi menshi.
Ijwi ryabo rizokwumvikana.
56 Kuko uwutikiza azotera Babiloni+.
Abarwanyi biwe bazofatwa+,
imiheto yabo ivunagurwe,
kuko Yehova ari Imana itanga impembo+.
Arishura koko umuntu ivyo yakoze+.
57 Nzoboreza+ abatware biwe, abantu biwe b’inkerebutsi,
ba buramatari biwe, abatware biwe bo hasi n’abarwanyi biwe.
Bazosinzira itiro ridahera
kandi ntibazogenda bikanguye+», ni ko Umwami yitwa Yehova Nyeningabo avuze.
58 Yehova Nyeningabo avuze ati:
«Uruzitiro rwa Babiloni, naho rwagutse, rwose ruzosenyurwa+,
amarembo yiwe na yo, naho ari maremare, aturirwe.
Abantu bazoruhira ubusa.
Amahanga azobira akuya mugabo kuzoba ari ukwenyegeza umuriro gusa+.»
59 Hari ivyo umuhanuzi Yeremiya yategetse Seraya mwene Neriya+, Neriya mwene Mahiseya, igihe yaja i Babiloni ari kumwe na Zedekiya umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira kane aganza. Seraya yari ajejwe ivyo mu rugo rw’umwami. 60 Yeremiya yanditse mu gitabu kimwe ivyago vyose vyoshikiye Babiloni, yandika ayo majambo yose yavuzwe ku bijanye na Babiloni. 61 Vyongeye, Yeremiya abwira Seraya ati: «Niwashika i Babiloni ukahabona, uzoce usoma aya majambo yose n’ijwi rirenga. 62 Uzoce uvuga uti: “Ewe Yehova, ni wewe wavuze ku bijanye n’aha hantu yuko hazotikizwa hagasigara ata wuhaba, yaba umuntu canke igikoko, be n’uko hazocika umusaka ibihe vyose+.” 63 Niwarangiza gusoma iki gitabu, uze ukibohereko ibuye hanyuma ugiterere hagati mu ruzi Efurate. 64 Maze uvuge uti: “Uku ni ko Babiloni azonyika ntiyongere guhaguruka+ kubera ivyago ngira ndamuteze, kandi abantu baho bazoruha+.”»
Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.
52 Zedekiya+ yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+, akaba yari umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo Yehoyakimu yari yarakoze vyose+. 3 Ishavu rya Yehova ni ryo ryatumye ivyo bintu biba i Yeruzalemu no mu Buyuda, gushika yomoye abahaba bakamuva imbere+. Zedekiya arahava agarariza umwami wa Babiloni+. 4 Nuko mu mwaka ugira icenda Zedekiya aganza, ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira cumi, Nebukadinezari* umwami wa Babiloni azanana n’ingabo ziwe zose gutera Yeruzalemu. Bakambika hafi y’ico gisagara, bubaka irya n’ino yaco uruzitiro rwo kuhatera+. 5 Ico gisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira 11 umwami Zedekiya aganza.
6 Mu kwezi kugira kane, ku musi ugira icenda w’ukwo kwezi+, inzara yari imaze gukara mu gisagara, kandi nta bifungurwa abanyagihugu bari bafise+. 7 Amaherezo Abakaludaya bamena uruzitiro rw’ico gisagara. Mu gihe bari bakikuje ico gisagara, abasoda bose ba Zedekiya bahengera mw’ijoro, bava mu gisagara barahunga baciye mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri hafi y’umurima w’umwami. Barabandanya berekeza mu karere ka Araba+. 8 Mugabo ingabo z’Abakaludaya ziruka ku mwami Zedekiya+, zimuhambiriza mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko maze abasoda biwe bose barasanzara baramuta. 9 Nuko bafata umwami bamudugana i Ribula mu gihugu ca Hamati ku mwami wa Babiloni, amucira urubanza. 10 Nuko umwami wa Babiloni afata abahungu ba Zedekiya abicira mu maso yiwe, yicira n’abatware bose b’Ubuyuda aho i Ribula. 11 Maze umwami wa Babiloni afata Zedekiya amugira impumyi+. Hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu amujana i Babiloni, amushira mw’ibohero, agumayo gushika apfuye.
12 Mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari* umwami wa Babiloni aganza, ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira gatanu, Nebuzaradani ashika i Yeruzalemu. Nebuzaradani yakorera umwami wa Babiloni, akaba yari umukuru w’abamucungera+. 13 Maze aturira inzu ya Yehova+, inzu* y’umwami n’inzu zose z’i Yeruzalemu, aturira n’inzu nini zose. 14 Ingabo z’Abakaludaya zose zari kumwe n’uwo mukuru w’abacungera umwami zisiturira hasi inzitiro zikikuje Yeruzalemu+.
15 Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano bamwe mu bantu batobato n’abantu bari basigaye mu gisagara. Atwara n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni hamwe n’abanyamyuga b’abahinga bari basigaye+. 16 Mugabo Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami asigazayo bamwebamwe mu bantu nyarucari ngo baze barakorera mu mirima y’imizabibu, bakore n’ibindi bikorwa vy’agahato+.
17 Maze Abakaludaya bamenagura za nkingi z’umujumpu+ zari ku nzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga+ vyari mu nzu ya Yehova, baraheza batwara umujumpu wavyo wose i Babiloni+. 18 Batwara n’utudobo, ibipawa, udukasi*, amabakure+, ibikombe+ n’ibindi bikoresho vyose vy’umujumpu vyakoreshwa mu rusengero. 19 Wa mukuru w’abacungera umwami atwara amabesani+, udupanu tujamwo umuriro, amabakure, utudobo, ivyo baterekako amatara+, ibikombe n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze, n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+. 20 Nayo ku bijanye na za nkingi zibiri, ca gitangi citwa Ikiyaga, za mpfizi 12 z’umujumpu+ zari munsi y’ico gitangi, na ya mashareti umwami Salomo yari yarakoreye inzu ya Yehova, nta washobora gupima umujumpu wari kuri ivyo bintu vyose.
21 Ku bijanye n’izo nkingi, imwe yose yareha n’intambwe* 18, kandi kugira uyikikuze vyasaba umugozi w’intambwe 12+. Intimbatimba yayo yangana n’ubwaguke bw’intoke* zine, kandi yari ifise umuheha hagati. 22 Igikono cari hejuru kuri yo cari gikozwe mu mujumpu kandi kimwe careha n’intambwe zitanu+. Udusharizo tumeze nk’urusenga be n’amakomamanga vyari bigikikuje, vyose vyari bikozwe mu mujumpu. Izo nkingi zompi n’ayo makomamanga vyari bikozwe kumwe. 23 Hari amakomamanga 96 ku mpande. Amakomamanga yose yari irya n’ino ku rusenga yari 100+.
24 Wa mukuru w’abacungera umwami afata na Seraya+ umukuru w’abaherezi be n’umuherezi Zefaniya+, akaba yari icegera ciwe. Afata n’abarinzi b’imiryango batatu+. 25 Afata umukozi wo ku kirimba yagaba abasoda amukuye mu gisagara, ahafatira n’abagabo indwi b’abishikira ku mwami. Afata n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, ari na we yatumako abinjira mu gisoda. Afata n’abagabo 60 bo mu banyagihugu batobato bari bakiri mu gisagara. 26 Abo bose Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami arabafata abajana i Ribula ku mwami wa Babiloni. 27 Maze umwami wa Babiloni abicira aho i Ribula+ mu karere ka Hamati. Ukwo ni ko ababa mu Buyuda bavuye mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano+.
28 Aba ni bo bantu Nebukadinezari* yatwaye mu bunyagano: mu mwaka ugira indwi aganza, yatwaye Abayuda 3.023+.
29 Mu mwaka ugira 18 Nebukadinezari* aganza+, abantu 832 ni bo bakuwe i Yeruzalemu.
30 Mu mwaka ugira 23 Nebukadinezari* aganza, Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami yatwaye mu bunyagano Abayuda 745+.
Abantu bose bajanywe mu bunyagano bari 4.600.
31 Mu mwaka ugira 37 Yehoyakini+ umwami w’Ubuyuda ari mu bunyagano, ku musi ugira 25 w’ukwezi kugira 12, Evili-Merodaki umwami wa Babiloni akura Yehoyakini* umwami w’Ubuyuda mw’ibohero, aramurekura. Hari mu mwaka Evili-Merodaki yatanguriyemwo kuganza+. 32 Evili-Merodaki amuyagisha neza, maze amuha ikibanza c’iteka* kuruta abandi bami bari mu bunyagano i Babiloni. 33 Nuko Yehoyakini akura impuzu zo mw’ibohero, atangura kuza arasangira n’umwami imisi yose y’ubuzima bwiwe. 34 Ku musi ku musi yama ahabwa imfungurwa zivuye ku mwami wa Babiloni. Yagumye azihabwa imisi yose y’ubuzima bwiwe gushika apfuye.
Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «Yehova arashira hejuru.»
Canke «naragutoye.»
Mu giheburayo havuga ngo «utarava mu gitereko.»
Canke «naragushize ku ruhande.»
Mu giheburayo havuga ngo «agahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuntu yikanguye.»
Canke «inkono y’umunwa munini.»
Mu giheburayo havuga ngo «bahushe.» Bisigura ko bahushe umuriro iteretseko.
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha rishobora no gusigura uguturira imibavu.
Mu giheburayo havuga ngo «nukenyere mu mafyinga.»
Canke «wankunda urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «mu bihugu vyo ku nkengera y’amazi.»
Bashobora kuba bimvye mu rutare.
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «Memfisi.»
Ni ishami ry’uruzi Nili.
Ni uruzi Efurate.
Canke «navunaguye ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Ni ibintu bimeze nk’umunyu bakoresha mu kumesa no mu kwoza ibintu.
Canke «kubera icipfuzo gikomeye ifise.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukwezi kwayo.»
Canke «imana z’inyamahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «wa yaruka.»
Ni imikanda y’ibisharizo umugeni yambara mu gikiriza ku musi w’ubugeni.
Mu giheburayo havuga ngo «abagenzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «nk’Umwarabu.»
Mu giheburayo havuga ngo «usigaye ufise uruhanga rw’umugore.»
Canke «ashira isoni.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukwiragiza inzira zawe.»
Canke «imana z’inyamahanga.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nababereye umugabo.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu ngabo z’amahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugenzi.»
Canke «imana y’akamaramaza.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Canke «mwikubite ku gikiriza.»
Canke «umutima rugabo.»
Canke «n’umutima rugabo w’abaganwa.»
Canke «igeramiye ubuzima bwacu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mukobwa w’abantu banje.» Ijambo «umukobwa» ni ingereranyo ndyoshamvugo ishobora kuba yakoreshejwe kugira haserurwe impuhwe n’ikigongwe.
Mu giheburayo havuga ngo «inderetsi.» Ni ukuvuga abarereka igisagara kugira bamenye igihe co kugitera.
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mara yanje, amara yanje!»
Mu giheburayo havuga ngo «mu mpome z’umutima wanje.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urwamo rw’akaruru k’intambara.»
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «sinzokwicuza.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Mu giheburayo havuga ngo «ntibabaye goyigoyi.»
Canke «baravunaguye ingogo.» Iyo ngogo igereranya ukuyobokera Imana.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntabaho.»
Ni ukuvuga ijambo ry’Imana.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «tweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyagenyerewe.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’uwuhaze imisi.»
Canke «barenzako.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugusenyuka kw’abantu banje.»
Canke «inyigisho.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Ni ubwoko bw’amarenga amota.
Mu giheburayo havuga ngo «ibise.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mukobwa w’abantu banje.»
Ni ukuvuga Yeremiya.
Umuvuba ni igikoresho abacuzi bakoresha mu guhuha umuriro.
Mu giheburayo havuga ngo «izi.» Ni ukuvuga inyubakwa zose ziri mu kigo c’urusengero.
Canke «abana batagira ba se.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «umwotsi w’ibimazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «namwe, mvyuka kare nkavuga.»
Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana. Gishobora kuba cari ikimanakazi c’ivy’irondoka.
Canke «bababaza», «basomborotsa.»
Canke «impanuro», «ivyiyumviro.»
Mu giheburayo havuga ngo «nkavyuka kare buri musi, nkabatuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaje izosi.»
Mu giheburayo havuga ngo «bwaranduwe mu kanwa kabo.»
Canke «umushatsi werekana ko wagize indagano.»
Canke «uririmbire akaririmbo k’intimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «iri yaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).
Canke «mu bwenge.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).
Canke «ibihe vyako vyashinzwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’umusambi.»
Canke «kwimuka.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
Canke «abanyamabanga.»
Canke «barenzako.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugusenyuka kw’umukobwa w’abantu banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mukobwa w’abantu banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «kw’umukobwa w’abantu banje.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «muganga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’abantu banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’abantu banje.»
Canke «ndirimbire akaririmbo k’intimba.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakurikira.»
Canke «ibamba.»
Canke «ugutegera.»
Canke «rudahemuka.»
Canke «ata co imaze.»
Canke «ni uruhendo.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Umurongo wa 11 mu ntango wanditswe mu giharameya.
Mu giharameya havuga ngo «zitahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Canke «ugutegera.»
Canke «imyuka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akorera ingomero imvura.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «nta mpemu.»
Canke «ni uruhendo.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «inkoni y’intoranwa yayo.»
Canke «ntereshe umugozi.»
Canke «imvune yanje.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «nta bushobozi.»
Ashobora kuba ari Yeremiya ariko arabwirwa.
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Mu giheburayo havuga ngo «nkavyuka kare nkababurira.»
Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»
Canke «umwotsi w’ibimazi.»
Canke «ca kintu c’akamaramaza.»
Ni ukuvuga Yeremiya.
Ni ukuvuga Ubuyuda.
Ni ukuvuga ibimazi batangira mu rusengero.
Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.» Ni ukuvuga ivyiyumviro vy’ibwina canke inyiyumvo z’ibwina.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uragandara.»
Canke «igifise umubiri cose nta mahoro gifise.»
Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
Canke «nyina w’umwami», «umugore w’iteka.»
Canke «birugarijwe.»
Canke «Umunyetiyopiya.»
Canke «abantu batobato.»
Canke «ku mifurege», «ku matangi.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’isugi w’abantu banje.»
Canke «umutima wanje ntiwoba kuri aba bantu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ubwoko bune bw’imanza.» Mu giheburayo havuga ngo «imiryango ine.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uguma ugenda usubira inyuma.»
Canke «kwicuza.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ryamaramaye ryicwa n’isoni.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntunkureho.»
Canke «ubutumwa bw’ishavu.»
Canke «rihendana.»
Mu giheburayo havuga ngo «uzoba nk’akanwa kanje.»
Canke «rudahemuka.»
Yari imigenzo y’abapagani. Biboneka ko yakurikizwa n’Abisirayeli bahevye Imana.
Mu giheburayo havuga ngo «ari ku nzira zabo zose.»
Canke «amashusho atagira ubuzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza vyawe bitaramutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko mwadometswe nk’umuriro mw’ishavu ryanje.»
Canke «umugabo akomeye.»
Canke «ukuboko kwiwe kw’inyama.»
Canke «umugabo akomeye.»
Canke «umubeshi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urwaye indwara idakira.»
Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe.»
Canke «atabigiranye ubutungane.»
Mu giheburayo havuga ngo «abamvako.» Biboneka ko hariko havugwa abava kuri Yehova.
Canke «bakaba abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «ubazimanganye kabiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «ry’abana b’abantu.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaje izosi.»
Canke «abatware.»
Canke «mu bumanuko.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Canke «akorera ku kintu kizunguruka babumbirako.»
Mu giheburayo havuga ngo «nk’uko uwo mubumvyi yabona ko bibereye mu maso yiwe gukora.»
Canke «nicuza ku bijanye n’umugambi.»
Canke «nicuza ku bijanye n’umugambi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndababumbira.»
Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Canke «umwotsi w’ibimazi.»
Canke «tudatsindagiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «sinzobereka mu maso hanje.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «tumukubitishe ururimi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «mu bwenge.»
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Mu giheburayo havuga ngo «kubera ko badadaje izosi ryabo ngo ntibagamburuke.»
Canke «inyiyumvo z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «asahure.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuko ndabishije mu maso hanje kuri iki gisagara kugira ndagiteze ivyago.»
Canke «uwumuzuruma.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Canke «uwumuzuruma.»
Canke «umwana atagira se.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokweza.»
Yitwa kandi Yehowahazi.
Canke «abahabara bawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibise.»
Yitwa kandi Yehoyakini canke Yekoniya.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «umutima wanyu uhahamiye.»
Canke «wa gihugu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»
Canke «samuragwa.»
Canke «mu bugaragwa.»
Canke «barabaye abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko y’inkozi z’ikibi.»
Canke «hakwiragira ubuhuni.»
Canke «batuma mugira ivyizigiro ata co bimaze.»
Canke «ubutumwa buruhisha.» Mu giheburayo iryo jambo rifise insobanuro zibiri: «ubutumwa buremereye buvuye ku Mana» canke «ikintu kiruhisha.»
Canke «buraruhisha.»
Canke «ari bwo butumwa buruhisha.»
Canke «ni ubutumwa buruhisha.»
Canke «ni ubutumwa buruhisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Yitwa kandi Yehoyakini canke Koniya.
Canke «abaganwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Canke «abaganwa.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «yavuze ku vyerekeye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndababwira, mvyuka kare nkavuga.»
Mu giheburayo havuga ngo «akavyuka kare, akabatuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
Biboneka ko ari izina rya Babeli (Babiloni) rivuzwe mu buryo buhishije.
Mu giheburayo havuga ngo «baganisha ibirenge.»
Canke «igifise umubiri cose.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «uvuge ku vyerekeye.»
Canke «kwunamira.»
Canke «nicuza ku bijanye n’umugambi.»
Canke «inyigisho.»
Mu giheburayo havuga ngo «ndabatumako, nkavyuka kare nkabatuma.»
Canke «abaganwa.»
Canke «ku kirimba.»
Canke «azokwicuza ku bijanye n’umugambi.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «nk’ibibanza bitaramutse.»
Canke «akicuza ku bijanye n’umugambi.»
Canke «n’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «nahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwubereye mu maso yanje.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «riruhuke.»
Canke «ku kirimba.»
Ni ca gitangi c’umujumpu cari ku rusengero.
Canke «ku kirimba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzobitaho.»
Canke «nzovuna ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «mu myaka ibiri y’imisi.»
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Canke «indwara.»
Canke «nyina w’umwami», «umugore w’iteka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Canke «indwara.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «zituritse.»
Mu giheburayo havuga ngo «navyuka kare nkatuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Zishobora kuba zari impatane zafata amaguru.
Canke «ivyuma bifata izosi.»
Canke «mu kiyunguyungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «uhambaye.»
Mu giheburayo havuga ngo «kumugira.»
Canke «nzogukosora.»
Canke «ugusenyuka.»
Canke «abahabara bawe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nzotuma bubahwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwogwatiriza umutima wiwe ngo anyegēre.»
Canke «mbandanya kukwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ugende uratamba intambo y’abatwenga.»
Canke «ku myonga.»
Canke «akamuhabuza.»
Canke «ivyiza biva.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibinure.»
Canke «abana.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje asebagirika ku bwiwe.»
Canke «ryagutse.»
Canke «uruvyaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «asigara adakarishe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nari umugabo wabo.»
Canke «ivyagezwe.»
Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «wahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «rudahemuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukishura ikosa rya ba se mu gikiriza c’abana babo.»
Mu giheburayo havuga ngo «impanuro.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «indwara.»
Canke «igifise umubiri cose.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «kubigisha, nkavyuka kare nkabigisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse vya Bayali.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).
Mu giheburayo havuga ngo «bacishe abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro ku bwa Moleki.»
Canke «mu bwenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «Uwahinguye isi.»
Canke «ndabahishurire.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «amasho azosubira guca munsi y’amaboko y’uwuyaharura.»
Canke «samuragwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «ivyagezwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwa Aburahamu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «namwe murisubiyeko uno musi.»
Canke «indwara.»
Uwo wari umugenzo wa kera wagirwa mu kwemeza isezerano.
Canke «mu vyumba.»
Canke «abaganwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «Yonadabu.» Rivuye mw’izina Yehonadabu.
Mu giheburayo havuga ngo «Yonadabu.» Rivuye mw’izina Yehonadabu.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «namwe, nkavyuka kare nkavuga.»
Mu giheburayo havuga ngo «b’abahanuzi, mvyuka kare nkabatuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimuzikorere.»
Mu giheburayo havuga ngo «Yonadabu.» Rivuye mw’izina Yehonadabu.
Mu giheburayo havuga ngo «umuzingo w’igitabu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu muzingo w’igitabu.»
Canke «ca gitabu.»
Canke «ca gitabu.»
Canke «mu buriro.»
Canke «umwanditsi.»
Canke «nya gitabu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Canke «abakozi bo ku kirimba.»
Canke «nya gitabu.»
Canke «muri iki gitabu.»
Ni igice ca nyuma ca Munyonyo n’igice ca mbere ca Kigarama. Raba Inyongera ya B15.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «mu gitabu.»
Yitwa kandi Yehoyakini canke Yekoniya.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «bamushira mu nzu y’amapingu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’itangi.»
Canke «ku kirimba.»
Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuzosohoka akaja.»
Mu giheburayo havuga ngo «azosahura.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko.»
Canke «umukozi wo ku kirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «niwasohoka ukaja.»
Mu giheburayo havuga ngo «nutasohoka ngo uje.»
Mu giheburayo havuga ngo «gusohoka.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Canke «mwari mufitaniye amahoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «Nerigali-Sharezeri, Samugari-Nebo, Sarisekimu, Rabusarisi», twisunze ubundi buryo bwo kubitondeka mu giheburayo.
Canke «umukuru w’abanyamageza (uwuragurira ku nyenyeri).»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «ikirimba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’ibikorwa vy’agahato.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «umwishikira mukuru wo ku kirimba.»
Canke «umukuru w’abanyamageza (uwuragurira ku nyenyeri).»
Mu giheburayo havuga ngo «uzosahura.»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagarare imbere y’Abakaludaya.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «y’ikidengeri kinini.»
Canke «nzotuntura.»
Canke «mube murabayeyo.»
Canke «indwara.»
Ubwo budongo rwari uruvange rw’ishwagara, umusenyi n’amazi.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «insengero.»
Canke «ata co yabaye.»
Canke «inkingi z’amabuye maremare.»
Canke «inzu (urusengero) y’izuba», ni ukuvuga Heliyopoli.
Canke «insengero.»
Canke «Memfisi.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuzikorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «nkavyuka kare nkabatuma.»
Canke «ntimwumvise mujanjaguritse.» Mu giheburayo havuga ngo «ntibajanjaguritse.»
Canke «indwara.»
Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana. Gishobora kuba cari ikimanakazi c’ivy’irondoka.
Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana. Gishobora kuba cari ikimanakazi c’ivy’irondoka.
Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana. Gishobora kuba cari ikimanakazi c’ivy’irondoka.
Ni izina ry’icubahiro ry’ikimanakazi casengwa n’Abisirayeli bahevye Imana. Gishobora kuba cari ikimanakazi c’ivy’irondoka.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «witega.»
Canke «ku gifise umubiri cose.»
Mu giheburayo havuga ngo «usahura.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.
Canke «kuwugonda.» Mu giheburayo havuga ngo «kuwuhonyora (igihe bawambika uruvuto).»
Canke «ibitungwa vyo gukerera.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «Memfisi.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe cashinzwe.»
Ni ukuvuga uwuzoza gutera Misiri.
Canke «Memfisi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hazoba agahinga.»
Canke «nk’abasenya inkwi.»
Ni ukuvuga Tebe (Thèbes).
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «nzogukosora.»
Hitwa kandi Kirete.
Bisigura ko bazomwa umushatsi kubera ikigandaro n’ibimaramare.
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Canke «ahantu hataramutse hatekanye.»
Canke «itaba.»
Urutere ni ibintu vyireka mu muvinyu canke ku nzoga, nka kurya kw’imvuzo canke urukoma.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «wicare ahantu h’isi yumye.»
Canke «itaba.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Mu giheburayo havuga ngo «azoganisha ibirenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»
Canke «uzosebagirika.»
Ni umwironge bavuza mu gucura intimba ku maziko.
Canke «uzosebagirika.»
Ni umwironge bavuza mu gucura intimba ku maziko.
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Raba Insiguro y’amajambo.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urwamo rw’akaruru k’intambara.»
Canke «tugikikuje.»
Canke «z’intama.»
Mu giheburayo havuga ngo «gitemba.»
Canke «abana batagira ba se.»
Mu giheburayo havuga ngo «ahunga.» Abo bavugwa bashobora kuba ari ababa mu gihugu ca Edomu.
Canke «inama.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga yose.» Ni ukuvuga ahantu hose umuyaga werekeza.
Mu giheburayo havuga ngo «intango y’inkomezi zabo.»
Canke «muri izo mpande zose.»
Canke «mu misi y’iherezo.»
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Raba Insiguro y’amajambo (Merodaki).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «we hantu ho kuba h’ubugororotsi.»
Canke «mudidagura ibirenge hasi.»
Canke «mugonda umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «muhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «yatanze ukuboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «ubahonye.»
Canke «abagonda umuheto.» Mu giheburayo havuga ngo «abahonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «bazonumishwa.»
Canke «abahanuzi b’ikinyoma.»
Mu gifaransa ni autruche.
Canke «iyaruka.»
Canke «inama.»
Biboneka ko ari izina ry’Ubukaludaya rivuzwe mu buryo buhishije.
Canke «ntawugonde.» Mu giheburayo havuga ngo «ntawuhonyore (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «igihugu cabo.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimwuzuze amasaho y’imyampi.»
Mu giheburayo havuga ngo «yavyuye impwemu y’abami b’Abamedi.»
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Canke «nimuhe inguvu.»
Canke «urugero rw’inyungu wahora uronka rurakwiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Canke «ugutegera.»
Canke «imyuka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akorera ingomero imvura.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «nta mpemu.»
Canke «ni uruhendo.»
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Mu giheburayo havuga ngo «inkoni y’intoranwa yiwe.»
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «umwirutsi.»
Canke «ivyambu.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «yaranyugunyuje.»
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Biboneka ko ari izina rya Babeli (Babiloni) rivuzwe mu buryo buhishije.
Raba Insiguro y’amajambo (Merodaki).
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Canke «ikirimba.»
Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Ubwaguke bw’urutoke bwangana na santimetero 1,85. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.
Mu giheburayo havuga ngo «aduza umutwe wa Yehoyakini.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»