ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Daniyeli 1:1-12:13
  • Daniyeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Daniyeli
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Daniyeli

DANIYELI

1 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma ya Yehoyakimu+ umwami w’Ubuyuda, Nebukadinezari umwami wa Babiloni yaraje i Yeruzalemu maze arahugariza+. 2 Yehova yahavuye amureka aratsinda Yehoyakimu umwami w’Ubuyuda+, aca agenda atwaye ibikoresho bimwebimwe vyo mu nzu* y’Imana y’ukuri, abijana mu gihugu ca Shinari*+, mu nzu y’imana yiwe. Ivyo bikoresho yaciye abishira mu bubiko burimwo itunga ry’imana yiwe+.

3 Uwo mwami yaciye ategeka Ashipenazi umukuru w’abakozi bo ku kirimba ciwe ngo azane Abisirayeli bamwebamwe, ushizemwo abava mu muryango wa cami no mu miryango y’abanyacubahiro+. 4 Bategerezwa kuba ari imisore* itagira akanenge, isa neza, ifise ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura+, kandi ishobora gukorera ku kirimba c’umwami. Ashipenazi yabwirizwa kubigisha kwandika no kuvuga ururimi rw’Abakaludaya. 5 Vyongeye, umwami yategetse ko ku musi ku musi baza barabaha ku bifungurwa vyiwe biryoshe no ku muvinyu wiwe. Bategerezwa kumara imyaka itatu bigishwa*, ico kiringo giheze bagaca batangura gukorera umwami.

6 Muri bo harimwo abo mu muryango* wa Yuda, ari bo Daniyeli*+, Hananiya*, Mishayeli* na Azariya*+. 7 Umukuru w’abakozi bo ku kirimba yaciye abaha amazina*. Daniyeli yamwise Beluteshazari+, Hananiya amwita Shadrake, Mishayeli amwita Meshake, Azariya na we amwita Abedinego+.

8 Ariko Daniyeli afata ingingo mu mutima wiwe, yuko atazokwihumanisha ibifungurwa biryoshe vy’umwami canke umuvinyu wiwe. Aca asaba umukuru w’abakozi bo ku kirimba uruhusha rwo kutarya ivyo bifungurwa vyohava bimuhumanya. 9 Maze Imana y’ukuri ituma uwo mukuru w’abakozi bo ku kirimba agirira ubuntu n’imbabazi Daniyeli+. 10 Mugabo uwo mukuru w’abakozi bo ku kirimba abwira Daniyeli ati: «Ndatinya databuja umwami wanje, we yabashingiye ivyo mufungura n’ivyo munywa. Vyogenda gute hamwe yobaraba agasanga ntimusa neza, abagereranije n’abandi basore munganya imyaka? Mwoba mutumye nagirwa* n’icaha imbere y’umwami.» 11 Daniyeli aca abwira umurinzi, uwo umukuru w’abakorera ku kirimba yari yajeje kwitwararika Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya ati: 12 «Ndagusavye utugeze twebwe abasavyi bawe imisi cumi, utugaburire imboga uduhe n’amazi yo kunywa. 13 Uzoheza urabe uko dusa utugereranije n’imisore irya ku vyo kurya biryoshe vy’umwami, maze umenye ico ukora wisunze ivyo uzoba wabonye.»

14 Aca aremera ivyo bamusavye, hanyuma arabageza imisi cumi. 15 Imisi cumi iheze, asanga basa neza kandi bafise amagara meza* kuruta ya misore yose yarya ku vyo kurya biryoshe vy’umwami. 16 Uwo murinzi rero yaza arabaha imboga aho kubaha ivyo kurya biryoshe n’umuvinyu w’umwami. 17 Nuko Imana y’ukuri iha abo basore bane ubukerebutsi, ubumenyi n’ugutahura* ubwoko bwose bw’inyandiko, kandi iha Daniyeli ubushobozi bwo gutahura ubwoko bwose bw’iyerekwa n’indoto+.

18 Ikiringo umwami Nebukadinezari yari yarashinze giheze+, wa mukuru w’abakozi bo ku kirimba aca abazana imbere yiwe. 19 Maze umwami avugana na bo, asanga nta n’umwe muri uwo mugwi wose ameze nka Daniyeli, Hananiya, Mishayeli na Azariya+. Abo rero baca babandanya gukorera umwami. 20 Ku kintu cose gisaba ubukerebutsi n’ugutahura umwami yababaza, yasanga baruta incuro cumi abaherezi bakora ivy’amageza n’abapfumu*+ bose bo mu bwami bwiwe bwose. 21 Daniyeli aca aguma ng’aho, gushika mu mwaka wa mbere w’umwami Kuro+.

2 Mu mwaka ugira kabiri Nebukadinezari ari ku ngoma, yararose indoto zitari nke, kandi zaramuhagaritse umutima cane+ ku buryo adashobora gutora agatiro. 2 Uwo mwami yaciye atumako abaherezi bakora ivy’amageza, abapfumu*, abarozi n’Abakaludaya*, kugira bamubwire indoto yarose. Nuko baraza maze bahagarara imbere yiwe+. 3 Umwami ababwira ati: «Hari indoto narose, kandi numva mpagaritse umutima, kuko nshaka kumenya ivyo narose.» 4 Abakaludaya baca bishura umwami mu rurimi rw’igiharameya*+ bati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose! Twiganire twebwe abasavyi bawe indoto warose, maze tukubwire insobanuro yayo.»

5 Umwami aca yishura abo Bakaludaya ati: «Ng’iyi ingingo ntabanduka nafashe: nimutamenyesha iyo ndoto n’insobanuro yayo, bazobahimbagura, amazu yanyu na yo ahindurwe utuzu twa surwumwe* tw’abantu bose. 6 Ariko nimwambwira iyo ndoto n’insobanuro yayo, nzobaha ingabire, impembo n’iteka ryinshi+. Mbwira rero iyo ndoto n’insobanuro yayo.»

7 Baca bamwishura ubwa kabiri bati: «Umwami natubwire twebwe abasavyi biwe indoto yarose, maze tumubwire insobanuro yayo.»

8 Umwami abishura ati: «Ndabona neza ko muriko muriteza utunyoni, kuko muzi ko ingingo nafashe ari ntabanduka. 9 Nimutambwira iyo ndoto, mwese muza kuronka igihano kimwe. Mwagiye inama yo kumbwira ibinyoma no kumpenda, kugira murabe ko nisubirako. Banza mumbwire iyo ndoto, nca menya ko mushobora kuyisobanura.»

10 Abakaludaya bishura umwami bati: «Nta muntu n’umwe kw’isi ashobora gukora ico kintu umwami asavye, kuko ata mwami ahambaye canke buramatari yigeze asaba ikintu nk’ico umuherezi akora ivy’amageza, canke umupfumu canke Umukaludaya. 11 Ikintu umwami ariko arasaba kiragoye, kandi nta muntu n’umwe yogishobora uretse za mana, na zo zikaba zitabana n’abantu*.»

12 Umwami aca ararungura n’ishavu, maze ategeka ko bica incabwenge* zose z’i Babiloni+. 13 Itegeko rimaze gusohoka, abantu b’umwami baca baja kurondera incabwenge zose kugira bazice. Barondera kandi na Daniyeli na bagenziwe kugira na bo nyene babice.

14 Muri uwo mwanya, Daniyeli abigiranye ubwenge n’ukwiyubara, aca avugana na Ariyoki umukuru w’abacungera umwami, uwari agiye kwica incabwenge z’i Babiloni. 15 Abaza Ariyoki, intwazangabo y’umwami ati: «Kubera iki umwami yatanze itegeko rikaze gutyo?» Ariyoki aca aramubwira igituma+. 16 Daniyeli aca yinjira aho umwami ari, amusaba umwanya kugira azomubwire insobanuro y’iyo ndoto.

17 Daniyeli aca arataha, maze amenyesha bagenziwe Hananiya, Mishayeli na Azariya ibijanye n’ico kibazo. 18 Abasaba ngo basenge Imana yo mw’ijuru kugira ibagirire imbabazi ku bijanye n’iryo banga, kugira ngo Daniyeli na bagenziwe ntibicanwe n’izindi ncabwenge z’i Babiloni.

19 Maze Imana ihishurira Daniyeli iryo banga mw’iyerekwa ryo mw’ijoro+. Daniyeli aca ashemeza Imana yo mw’ijuru, 20 avuga ati:

«Izina ry’Imana nirishemezwe ibihe vyose*,

kuko ari yo yonyene ifise ubukerebutsi n’ububasha+.

21 Ni yo ihindura ibihe n’ibiringo+,

igakuraho abami igashiraho abandi+.

Ni yo iha ubukerebutsi abanyabwenge, igaha ubumenyi abafise ugutahura+.

22 Ni yo ihishura ibintu vyimbitse n’ibihishijwe+,

ikamenya ibiri mu mwiza+,

kandi umuco ubana na yo+.

23 Ewe Mana ya ba sogokuruza, ndagushimiye kandi ndagushemeje,

kuko wampaye ubukerebutsi n’ububasha.

None ubu na ho uramenyesheje ivyo twagusavye.

Uratumenyesheje ibiraje ishinga umwami+.»

24 Daniyeli aca yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yajeje kwica incabwenge z’i Babiloni+, amubwira ati: «Ntihagire incabwenge n’imwe y’i Babiloni wica. Njana imbere y’umwami, ndamubwire insobanuro y’indoto yiwe.»

25 Ariyoki aca anyarukana Daniyeli imbere y’umwami, amubwira ati: «Nabonye mu Bayuda bari mu bunyagano+, umuntu ashobora gusobanurira umwami indoto yiwe.» 26 Umwami abaza Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+ ati: «Urashoboye vy’ukuri kumbwira indoto narose n’insobanuro yayo+?» 27 Daniyeli amwishura ati: «Nta n’umwe mu ncabwenge, abapfumu, abaherezi bakora ivy’amageza canke abaragurisha inyenyeri, ashobora kubwira umwami iryo banga ashaka kumenya+. 28 Ariko mw’ijuru hariho Imana ihishura amabanga+, kandi yahishuriye umwami Nebukadinezari ibizoba mu misi y’iherezo*. Ng’iyi indoto warose, kandi ibi ni vyo weretswe igihe wari ku gitanda cawe:

29 Ewe mwami, igihe wari ku gitanda cawe, warose ibizoba muri kazoza, kandi Umwe ahishura amabanga yakumenyesheje ibigiye kuba. 30 Nayo jewe, iryo banga sinarihishuriwe kubera ndusha abandi ubwenge*, ahubwo ni ukugira umwami amenye insobanuro y’iyo ndoto, no kugira umenye ivyiyumviro vyaje mu mutima wawe+.

31 Ewe mwami, wariko uritegereza maze ubona igishusho kinini cane. Ico gishusho amahero gikayangana cane cari gihagaze imbere yawe, kandi cari giteye ubwoba. 32 Umutwe w’ico gishusho wari ukozwe mu nzahabu ityoroye+, igikiriza caco n’amaboko yaco vyari ivy’ifeza+, inda yaco n’amatako yaco vyari ivy’umujumpu+, 33 amaguru yaco yari ay’ivyuma+ kandi ibirenge vyaco vyari bigizwe n’icuma kivanze n’ibumba*+. 34 Wagumye witegereza gushika ibuye risituwe, ariko ridasituwe n’amaboko, maze rikubita ico gishusho ku birenge vyaco vy’icuma hamwe n’ibumba, rirabijanjagura+. 35 Ako kanya, ca cuma, rya bumba, wa mujumpu, ya feza na ya nzahabu, vyose vyaciye bijanjagurika maze bicika nk’umuguruka wo ku mbuga* mu gihe c’ici, umuyaga uca urabitwara ntihasigara n’akavunji na kamwe. Rya buye ryakubita ca gishusho ryaciye ricika umusozi munini cane, maze wuzura isi yose.

36 Indoto ni iyo. Ubu na ho reka tubwire umwami insobanuro yayo. 37 Ewe mwami, wewe umwami w’abami, uw’Imana yo mw’ijuru yahaye ubwami+, ububasha, inkomezi n’ubuninahazwa, 38 ikaguha ububasha ku bantu aho baba hose, ku bikoko vyo mw’ishamba n’inyoni ziguruka mu kirere, kandi ikaguha kubiganza vyose+, ni wewe uri umutwe w’inzahabu+.

39 Ariko inyuma yawe hazoza ubundi bwami+ urusha ububasha. Hazoza n’ubundi bwami bugira gatatu, bugereranywa n’umujumpu, kandi buzoganza isi yose+.

40 Ubwami bugira kane buzoba bukomeye nk’icuma+. Kurya icuma kijanjagura kandi kigasavya ibintu vyose, emwe kurya icuma kimenagura ibintu, buzojanjagura kandi bumenagure ubwo bwami bwose+.

41 Ko ibirenge n’amano wabonye vyari bigizwe n’ibumba* rivanze n’icuma, ubwo bwami na bwo nyene buzoba bugabuye, ariko buzoba bufise akantu k’ubukomezi bw’icuma, kuko icuma wabonye cari kivanze n’ibumba*. 42 Ko amano yari agizwe n’icuma kivanze n’ibumba, ubwo bwami igice kimwe buzokomera, ikindi gice na co bugoyagoye. 43 Kurya nyene icuma wabonye cari kivanze n’ibumba, ico gice gikomeye kizovangana n’abantu* ariko ntibizofatana ngo binywane, nk’uko nyene icuma kidafatana n’ibumba.

44 Mu misi y’abo bami, Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami+ butazokwigera busenyurwa+, kandi ubwo bwami ntibuzoganzwa n’irindi hanga+. Buzojanjagura buherengeteze ubwo bwami bwose+, buce buhangama ibihe vyose ari bwonyene+. 45 Ivyo bizoranguka nk’uko nyene wabibonye igihe ibuye ryasiduka ku musozi, ariko ridasituwe n’amaboko, maze rikajanjagura ca cuma, wa mujumpu, rya bumba, ya feza na ya nzahabu+. Imana ihambaye yamenyesheje umwami ibizoba muri kazoza+. Iyo ndoto ni iy’ukuri, kandi insobanuro yayo ni iyo kwizigirwa.»

46 Umwami Nebukadinezari aca arunama imbere ya Daniyeli, mu maso hiwe hashika hasi, maze amuha icubahiro. Aca ategeka ko bamuha ingabire, bakamushikanira n’imibavu. 47 Umwami abwira Daniyeli ati: «Ni ukuri, Imana yanyu ni Imana iruta izindi mana, Umutware aruta abami bose, kandi ni Imana ihishura amabanga, kuko washoboye kumpishurira iryo banga+.» 48 Umwami aca aduza igiti Daniyeli, amuha n’ingabire nyinshi nzizanziza kandi amugira umutware w’intara yose ya Babiloni+ n’icariho gikuru kiganza incabwenge zose z’i Babiloni. 49 Umwami abisabwe na Daniyeli, aca agena Shadrake, Meshake na Abedinego+ ngo batunganye imirimo y’intara ya Babiloni, ariko Daniyeli aguma ku kirimba c’umwami.

3 Umwami Nebukadinezari yakoze igishusho c’inzahabu gifise uburebure bw’intambwe 60* n’ubwaguke bw’intambwe 6*. Ico gishusho yaciye agishinga mu kiyaya ca Dura, mu ntara ya Babiloni. 2 Umwami Nebukadinezari yaciye atumako ivyegera vyiwe, ivyariho, ba buramatari, abajanama, abanyabigega, abacamanza, abashingantahe n’abatware bose bo mu ntara, ngo baze ku birori vyo gutangura kwunamira ico gishusho yari yashinze.

3 Nuko ivyegera vy’umwami, ivyariho, ba buramatari, abajanama, abanyabigega, abacamanza, abashingantahe n’abatware bose bo mu ntara, baca bakoranira hamwe ku birori vyo gutangura kwunamira ico gishusho umwami Nebukadinezari yari yashinze. Baraheza bahagarara imbere y’ico gishusho yari yashinze. 4 Uwushikiriza amatangazo aca arasemerera ati: «Yemwe bantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye, ng’iri itegeko muhawe: 5 nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muce mupfukama maze musenge igishusho c’inzahabu umwami Nebukadinezari yashinze. 6 Umuntu wese ataza gupfukama ngo agisenge, ubwo nyene aca atererwa mw’ifuru yaka umuriro+.» 7 Nuko abantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye bumvise ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, bose baca barapfukama maze basenga igishusho c’inzahabu umwami Nebukadinezari yari yashinze.

8 Muri uwo mwanya, bamwe mu Bakaludaya baciye begera umwami maze barega Abayuda. 9 Babwira umwami Nebukadinezari bati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose! 10 Ewe mwami, ntiwatanze itegeko ry’uko umuntu wese azokwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, azoca apfukama maze agasenga ca gishusho c’inzahabu? 11 Ntiwavuze kandi ko umuntu wese atazopfukama ngo agisenge, azoca atererwa mw’ifuru yaka umuriro+? 12 Ariko Abayuda wagenye ngo batunganye imirimo y’intara ya Babiloni, ari bo Shadrake, Meshake na Abedinego+, ntibakwubaha mwami! Ntibakorera imana zawe, kandi banse gusenga ca gishusho c’inzahabu washinga.»

13 N’ishavu n’akantu, Nebukadinezari aca ategeka ko bazana Shadrake, Meshake na Abedinego. Baraheza bazana abo bagabo imbere yiwe. 14 Nebukadinezari aca ababwira ati: «Shadrake na Meshake na Abedinego, ni ivy’ukuri yuko mwanse gukorera imana zanje+ no gusenga igishusho c’inzahabu nashinze? 15 Ubu rero, nimba mwemeye yuko nimwumva ijwi ry’inzamba, umwironge, inanga, inanga y’inyabutatu, igicurarangisho c’imirya, umwironge w’isaho n’ubwoko bwose bw’ibicurarangisho, muca mupfukama maze mugasenga igishusho nakoze, bizoba ari vyiza. Ariko nimwanka kugisenga, ubwo nyene muca mutererwa mw’ifuru yaka umuriro. Mbega ni imana iyihe yoshobora kubakura mu kuboko kwanje+?»

16 Shadrake, Meshake na Abedinego baca bishura umwami bati: «Ewe Nebukadinezari, si ngombwa ngo twirirwe turavuga menshi kuri ivyo. 17 Nimba ari ukwo bitegerezwa kugenda, Imana yacu dukorera irashobora kuturokora muri iyo furu yaka umuriro no mu kuboko kwawe mwami+. 18 Ariko naho itodukiza, numenye mwami, yuko tudashobora gukorera imana zawe canke gusenga igishusho c’inzahabu washinze+.»

19 Nebukadinezari aca arashavura cane kubera Shadrake na Meshake na Abedinego, ku buryo mu maso hiwe hahinduka*. Aca ategeka ko bongereza umuriro muri iyo furu incuro indwi kuruta uko vyahora. 20 Vyongeye, ategeka abasoda bakomeye cane bo mu ngabo ziwe ngo babohe Shadrake na Meshake na Abedinego, maze babaterere muri iyo furu yaka umuriro.

21 Baca barababoha bacambaye imitamana yabo, impuzu zabo, inkofero zabo n’ibindi vyose bambaye, maze babaterera muri ya furu yaka umuriro. 22 Kubera yuko itegeko ry’umwami ryari rikaze, n’iyo furu ikaba yari ishushe birenze, abari bagiye guta mu muriro Shadrake na Meshake na Abedinego ni bo baciye bahitanwa n’imbeya z’umuriro. 23 Ariko Shadrake na Meshake na Abedinego, uko ari batatu, bakorokera muri iyo furu yaka umuriro baboshe.

24 Umwami Nebukadinezari aca atekerwa n’ubwoba, ubwo nyene aca arahaguruka, maze abwira abategetsi biwe bakomakomeye ati: «Mbega abantu batatu si bo twaboshe tukabaterera mu muriro?» Bamwishura bati: «Ego mwami.» 25 Yongerako ati: «Ariko mbona abagabo bane bariko baritemberera hagati mu muriro, kandi nta co wabagize. Uwugira kane asa n’umwana wa za mana.»

26 Nebukadinezari aca yegera umuryango w’iyo furu yaka umuriro, maze avuga ati: «Shadrake, Meshake na Abedinego, basavyi b’Imana Musumbavyose+, sohoka muze hano!» Shadrake na Meshake na Abedinego baca barasohoka, bava hagati mu muriro. 27 Ivyegera vy’umwami, ivyariho, ba buramatari n’abategetsi bakomakomeye b’umwami bari bakoraniye ng’aho+, na bo nyene bariboneye ko umuriro ata na kimwe wabagize+. Nta n’agashatsi ko ku mitwe yabo kari kahiye. Imitamana yabo nta co yari yabaye, kandi nta n’akamoto k’umwotsi wabumvako.

28 Nebukadinezari aca avuga ati: «Hashemezwe Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego+, yo yarungitse umumarayika wayo akarokora abasavyi bayo. Bayizigiye, banka kugamburuka itegeko ry’umwami, kandi bemeye gupfa* aho gukorera canke gusenga iyindi mana kiretse Imana yabo+. 29 Ubu rero, ntanze itegeko ry’uko umuntu wo mu bwoko ubwo ari bwo bwose, ihanga iryo ari ryo ryose canke ururimi urwo ari rwo rwose, azovuga nabi Imana ya Shadrake na Meshake na Abedinego azohimbagurwa, kandi inzu yiwe izohindurwa akazu ka surwumwe* k’abantu bose. Kuko ata yindi mana iriho ishobora gukiza nk’Imana yabo+.»

30 Umwami aca aduza igiti* Shadrake na Meshake na Abedinego mu ntara ya Babiloni+.

4 «Umwami Nebukadinezari, ku bantu baba kw’isi bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye: mugire amahoro menshi! 2 Ndi n’umunezero wo kubamenyesha ibimenyetso n’ibitangaza Imana Musumbavyose yankoreye. 3 Ese ukuntu ibimenyetso vyayo bihambaye, n’ukuntu ibitangaza vyayo bikomeye! Ubwami bwayo bwamaho kandi ubutegetsi bwayo ni ubwo gushika ibihe bidahera*+.

4 Jewe Nebukadinezari nari nitekaniye mu nzu yanje, kandi nari ntunganiwe mu kirimba canje. 5 Nararose indoto yanteye ubwoba. Amashusho nabonye n’ivyo neretswe ndi ku gitanda canje vyaranteye ubwoba+. 6 Naciye ntegeka ngo banzanire incabwenge* zose z’i Babiloni, kugira zimenyeshe insobanuro y’iyo ndoto+.

7 Ico gihe, abaherezi bakora ivy’amageza, abapfumu, Abakaludaya* n’abaragurisha inyenyeri+ baciye binjira. Narababwiye iyo ndoto, ariko ntibashoboye kumenyesha insobanuro yayo+. 8 Amaherezo Daniyeli yarinjiye, uwo bise Beluteshazari+ bisunze izina ry’imana yanje+, kandi akaba arimwo impwemu ya za mana nyeranda+. Ndaheza ndamwiganira iyo ndoto nti:

9 “Ewe Beluteshazari, umukuru w’abaherezi bakora ivy’amageza+, ndazi neza ko impwemu ya za mana nyeranda iri muri wewe+, be n’uko ata banga na rimwe rikunanira guhishura+. Mbwira rero insobanuro y’ivyo neretswe mu ndoto.

10 Mu vyo neretswe ndi ku gitanda canje, nabonye igiti+ kiri hagati mw’isi kandi cari kirekire cane+. 11 Ico giti carakuze kirakomera, uburebure bwaco bushika kw’ijuru, kandi abari ku mpera z’isi yose barakibona. 12 Cari gifise amababi atotahaye n’ivyamwa vyinshi, kandi caratanga ibifungurwa bihaza ibiriho vyose*. Ibikoko vyo mw’ishamba vyaronderera igitutu munsi yaco, inyoni zo mu kirere zikarika mu mashami yaco, kandi ivyaremwe vyose vyarya ivyamwa vyaco.

13 Igihe nerekwa ivyo bintu ndi ku gitanda canje, nagiye mbona inderetsi nyeranda, imanuka iva mw’ijuru+. 14 Maze isemerera n’ijwi rirenga iti: ‘Nimwicire ico giti+, mutemagure amashami yaco, muhungurure amababi yaco kandi musanzaze ivyamwa vyaco. Ibikoko nibihunge bive munsi yaco, n’inyoni zive mu mashami yaco. 15 Ariko igishitsi caco n’imizi yaco mubirekere mw’ivu, mu vyatsi vyo mw’ishamba, kiboheshejwe imigozi y’icuma n’umujumpu. Mukireke kijobekwe n’urume ruva mw’ijuru, kandi gisangire n’ibikoko ivyatsi vyo kw’isi+. 16 Umutima waco nuhindurwe ureke kuba umutima w’umuntu, maze gihabwe umutima w’igikoko, gushika ibihe indwi+ biheze+. 17 Iyo ngingo itangajwe n’inderetsi+, kandi iryo tegeko rimenyekanishijwe n’aberanda, kugira ngo abariho bamenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu+, be n’uko abuha uwo ashatse wese, mbere akabuha umuntu ari hanyuma y’abandi bose ngo abuganze.’

18 Ivyo ni vyo jewe umwami Nebukadinezari nabonye mu ndoto. Ubu rero ga Beluteshazari, numbwire insobanuro yavyo, kuko izindi ncabwenge zose zo mu bwami bwanje zananiwe kumbwira insobanuro yavyo+. Ariko wewe urabishoboye, kuko impwemu ya za mana nyeranda iri muri wewe.”

19 Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+, aca amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bitangura kumutera ubwoba.

Maze umwami amubwira ati: “Ewe Beluteshazari, indoto zanje n’insobanuro yazo ntibigutere ubwoba.”

Beluteshazari amwishura ati: “Databuja, iyo ndoto irakaba ku bakwanka, n’insobanuro yayo ibe ku bansi bawe.

20 Ico giti wabonye maze kigakura kigakomera, uburebure bwaco bugashika kw’ijuru kandi kikabonwa n’abari kw’isi yose+, 21 ico giti gifise amababi atotahaye, ivyamwa vyinshi kandi kigatanga ibifungurwa bihaza ibiriho vyose, maze ibikoko vyo mw’ishamba bikaba munsi yaco, n’inyoni zo mu kirere zikibera mu mashami yaco+, 22 ni wewe mwami, kuko wabaye uwuhambaye kandi ugakomera. Icubahiro cawe carongerekanye gushika kw’ijuru+, ubutegetsi bwawe na bwo bushika ku mpera y’isi+.

23 Kandi umwami yabonye inderetsi nyeranda+, imanuka iva mw’ijuru, maze ivuga iti: ‘Nimwicire ico giti, mugitemagure, ariko igishitsi caco n’imizi yaco mubirekere mw’ivu, mu vyatsi vyo mw’ishamba, kiboheshejwe imigozi y’icuma n’umujumpu. Mukireke kijobekwe n’urume ruva mw’ijuru kandi gisangire n’ibikoko ivyatsi vyo mw’ishamba gushika ibihe indwi biheze+.’ 24 Ng’iyi rero insobanuro mwami, kandi ibi ni vyo Musumbavyose yavuze ko bizoshikira databuja umwami wanje: 25 uzokwirukanwa mu bantu ubane n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi uzorisha ivyatsi nk’impfizi z’inka. Uzomara ibihe indwi+ ujobekwa n’urume ruva mw’ijuru+, gushika umenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashatse wese+.

26 Ariko kubera bavuze ko igishitsi c’ico giti n’imizi yaco biguma mw’ivu+, ubwami bwawe uzobusubizwa, umaze gutahura ko Imana yo mw’ijuru ari yo iganza. 27 Rero mwami, ese wokwemera impanuro yanje! Nuvavanure n’ibicumuro vyawe, ukore ivyiza kandi uhebe amakosa yawe maze ugirire neza aboro. Hari aho ukuroranirwa kwawe kwomara kabiri+.”»

28 Ivyo vyose vyarashikiye umwami Nebukadinezari.

29 Haheze amezi 12, yariko aratembera hejuru ku gisenge c’ikirimba c’umwami c’i Babiloni. 30 Umwami aca avuga ati: «Mbega iyi si Babiloni ikomeye, iyo jewe ubwanje niyubakiye ngo ibe ikirimba c’umwami, nkoresheje inguvu zanje n’ububasha bwanje, kugira ngo icubahiro canje kininahazwe?»

31 Umwami ataraheza no kuvuga iryo jambo, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru, rivuga riti: «Ibi ni vyo ubwiwe mwami Nebukadinezari: “Uratswe ubwami+, 32 kandi urirukanywe mu bantu. Uzobana n’ibikoko vyo mw’ishamba, kandi uzorisha ivyatsi nk’impfizi z’inka. Uzomara ibihe indwi, gushika umenye ko Musumbavyose ari we aganza ubwami bw’abantu, be n’uko abuha uwo ashatse wese+.”»

33 Ubwo nyene iryo jambo rica rirangukira kuri Nebukadinezari. Yirukanwa mu bantu, maze atangura kurya ivyatsi nk’impfizi z’inka. Umubiri wiwe ujobekwa n’urume ruva mw’ijuru, imishatsi yiwe irakura isigara ireha n’amoya y’inkona, inzara ziwe na zo zisigara zimeze nk’ivyara vy’inyoni+.

34 «Ico kiringo giheze+, jewe Nebukadinezari nararangamije kw’ijuru, maze ubwenge buragaruka. Naciye nshemeza Musumbavyose, ndashemeza nongera ndaninahaza Imana ihoraho, kuko ubutegetsi bwayo bwamaho kandi ubwami bwayo ni ubwo gushika ibihe bidahera+. 35 Ababa kw’isi bose ni ubusa imbere yayo, kandi ikoresha ico ishatse cose ingabo zo mw’ijuru n’ababa kw’isi. Nta n’umwe ashobora kuyitangira*+ canke kuyibaza ngo: “Ivyo wakoze ni ibiki+?”

36 Uwo mwanya nyene, ubwenge bwanje buragaruka kandi ubuninahazwa bw’ubwami bwanje, icubahiro canje n’ubwiza bwanje bwakaka na vyo nyene biragaruka+. Abategetsi banje bakomakomeye n’abandi banyacubahiro barandondeye babishashaye, maze nsubizwa ku bwami, mbere mpabwa ubuninahazwa buruta ubwo nari mfise.

37 Ubu rero jewe Nebukadinezari, ndashemeza, ngashira hejuru kandi nkaninahaza Umwami wo mw’ijuru+, kuko ibikorwa vyiwe vyose ari ukuri kandi inzira ziwe zose ziragororotse+. Vyongeye, arashoboye gucisha bugufi abishira hejuru+.»

5 Umwami Belushazari+ yateguriye inzimano idasanzwe abantu igihumbi bo mu banyacubahiro biwe, kandi yariko aranywa umuvinyu imbere yabo+. 2 Umuvinyu umaze kumushika, Belushazari yaciye atanga itegeko ry’uko bazana ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza se wiwe Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero rw’i Yeruzalemu+, kugira ngo umwami, abanyacubahiro biwe, incoreke ziwe n’abagore biwe batoyi babinyweremwo. 3 Baca bazana ibikoresho vy’inzahabu bari barakuye aheranda mu nzu y’Imana i Yeruzalemu, maze umwami, abanyacubahiro biwe, incoreke ziwe n’abagore biwe batoyi babinyweramwo. 4 Nuko banywa umuvinyu bongera bashemeza imana z’inzahabu n’iz’ifeza, iz’umujumpu n’iz’icuma, iz’ibiti n’iz’amabuye.

5 Ubwo nyene haca haboneka intoke z’ukuboko kw’umuntu, zitangura kwandika ku ruhome* rw’ikirimba c’umwami, iruhande y’ico baterekako amatara, kandi umwami yarabona ukwo kuboko kuriko kurandika. 6 Umwami aca arijirwa*, ivyiyumviro vyiwe bimutera ubwoba, arajugumira mu mafyinga+, amavi yiwe na yo atangura kudegedwa.

7 Umwami aca arasemerera ngo bazane abapfumu*, Abakaludaya* n’abaragurisha inyenyeri+. Maze abwira incabwenge* z’i Babiloni ati: «Umuntu wese aza gusoma ibi bintu kandi akambwira insobanuro yavyo, azoca yambikwa impuzu y’umuyugubwe* n’umugufu w’inzahabu mw’izosi+, kandi azoca aba umutegetsi agira gatatu mu bwami+.»

8 Incabwenge z’umwami zose zica ziraza, ariko ntizashoboye kumusomera ivyo bintu canke kumubwira insobanuro yavyo+. 9 Umwami Belushazari aca agira ubwoba bwinshi, arijirwa mu maso, abanyacubahiro biwe na bo barazazanirwa+.

10 Umwamikazi yumvise amajambo y’umwami n’abanyacubahiro biwe, aca yinjira ahariko habera umusi mukuru. Abwira umwami ati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose! Ntureke ngo ivyiyumviro vyawe bigutere ubwoba canke ngo wijirwe mu maso. 11 Mu bwami bwawe hariho umuntu* afise impwemu ya za mana nyeranda. Ku ngoma ya so wawe, vyaragaragaye ko abona kure be n’uko afise ugutahura* n’ubukerebutsi nk’ubwa za mana+. Umwami Nebukadinezari ari we so wawe, yaramugenye ngo abe umukuru w’abaherezi bakora ivy’amageza, abapfumu, Abakaludaya n’abaragurisha inyenyeri+. Emwe, so wawe yaramugenye mwami. 12 Nkako Daniyeli, uwo umwami yise Beluteshazari+, yari afise impwemu idasanzwe, ubumenyi n’ugutahura bituma ashobora gusobanura indoto, gusigura ibintu bifobetse no gutorera umuti ibibazo bigoye*+. Nutumeko rero Daniyeli, na we arakubwira insobanuro yavyo.»

13 Baca bazana Daniyeli imbere y’umwami. Umwami amubaza ati: «Ni wewe Daniyeli wo mu Bayuda bari mu bunyagano+, dawe umwami yakuye mu Buyuda+? 14 Narumvise ko impwemu ya za mana iri muri wewe+, be n’uko ubona kure kandi ko ufise ugutahura n’ubukerebutsi budasanzwe+. 15 Banzaniye incabwenge n’abapfumu ngo bansomere ibi bintu, bambwire n’insobanuro yavyo, ariko ntibashoboye kumbwira insobanuro y’ubwo butumwa+. 16 Ariko narumvise ko ushoboye gusobanura ibintu+ no gutorera umuti ibibazo bigoye. Ubu rero niwashobora gusoma ivyo bintu kandi ukambwira insobanuro yavyo, uca wambikwa impuzu y’umuyugubwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, kandi uca uba umutegetsi agira gatatu mu bwami+.»

17 Daniyeli aca yishura umwami ati: «Urashobora kugumya izo ngabire zawe, iyo mpembo ukayiha abandi. Ariko ndasomera umwami ivyo bintu, ndamubwire n’insobanuro yavyo. 18 Ewe mwami, Imana Musumbavyose yarahaye so wawe Nebukadinezari ubwami, ubukuru, iteka n’icubahiro+. 19 Kubera ubwo bukuru yamuhaye, abantu bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye barajugumira imbere yiwe+. Uwo ashatse wese yaramwica canke akamukiza, kandi uwo ashatse wese yaramushira hejuru canke akamucisha bugufi+. 20 Ariko igihe yishira hejuru, agakomantaza umutima wiwe kandi agatangura kugira ubwibone+, yarakuwe ku ngoma, yakwa n’iteka ryiwe. 21 Yarirukanywe mu bantu, umutima wiwe uhindurwa nk’uw’igikoko kandi asigara abana n’indogobwa zo mw’ishamba. Yasigaye arisha ivyatsi nk’impfizi z’inka, umubiri wiwe uguma ujobekwa n’urume ruva mw’ijuru, gushika atahuye ko Imana Musumbavyose ari yo iganza ubwami bw’abantu, be n’uko ibuha uwo ishatse wese+.

22 Ariko wewe Belushazari umuhungu wiwe, naho ivyo vyose wabimenye, ntiwicishije bugufi. 23 Ahubwo warirase ku Mukama wo mw’ijuru+, utumako ibikoresho vyo mu nzu yiwe+. Maze wewe n’abanyacubahiro bawe, incoreke zawe n’abagore bawe batoyi munywera umuvinyu muri vyo, muraheza mushemeza imana z’inzahabu n’iz’ifeza, iz’umujumpu n’iz’icuma, iz’ibiti n’iz’amabuye, imana ata co zishobora kubona canke kwumva, kandi ata co zizi+. Ntiwaninahaje ya Mana ifise ububasha ku buzima bwawe+ no ku vyo ukora vyose*. 24 Ni co gituma yarungitse ukuboko ngo kwandike ivyo bintu+. 25 Ibi rero ni vyo vyanditswe: MENE, MENE, TEKELI na PARISINI.

26 Insobanuro yavyo ni iyi: MENE bisobanura ngo “Imana yaharuye imisi y’ubwami bwawe kandi yaburangije+.”

27 TEKELI bisobanura ngo “Wapimwe ku munzane basanga ntukwije ibilo.”

28 PERESI bisobanura ngo “Ubwami bwawe bwagabuwe maze buhabwa Abamedi n’Abaperesi+.”»

29 Belushazari aca atanga itegeko, maze bambika Daniyeli impuzu y’umuyugubwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. Baraheza batangaza ko agiye kuba umutegetsi agira gatatu mu bwami+.

30 Belushazari umwami w’Umukaludaya aca yicwa muri iryo joro nyene+. 31 Dariyo+ Umumedi aca aba umwami. Yari afise nk’imyaka 62.

6 Dariyo abona ko ari vyiza kugena ivyegera vyiwe 120 mu bwami bwiwe bwose+. 2 Hejuru yabo hari abakuru batatu, kandi Daniyeli yari umwe muri bo+. Ivyo vyegera vy’umwami+ vyaza biratanga raporo kuri abo batatu, kugira ngo umwami ntahahombere. 3 Daniyeli yarerekana ko abishoboye kuruta abo bandi bakuru n’ivyo vyegera vy’umwami, kuko yari afise ubushobozi* budasanzwe+, kandi umwami yashaka kumuha kuganza ubwami bwose.

4 Ico gihe, abategetsi bakurubakuru n’ivyegera vy’umwami baguma barondera ivyo bagiriza Daniyeli ku bijanye n’ibibazo vy’igihugu*, ariko nta mvo n’imwe canke ikosa na rimwe baronse, kuko yari umwizigirwa kandi ntiyafata ibintu minenegwe canke ngo akore amanyanga. 5 Abo bagabo baca bavugana bati: «Ntituzoronka ikintu na kimwe twagiriza Daniyeli, kiretse tukirondeye mu mategeko y’Imana yiwe+.»

6 Abo bategetsi bakurubakuru n’ivyegera vy’umwami baca binjira ari umugwi aho umwami ari, bamubwira bati: «Ewe mwami Dariyo, nuhangame ibihe vyose! 7 Abatware bose bo mu bwami, ivyariho, ivyegera vy’umwami, abategetsi bakurubakuru b’i bwami na ba buramatari bose, bumvikanye ko hashirwaho itegeko ry’umwami kandi hagashirwaho uyu muziro: mu kiringo c’imisi 30, umuntu wese azosenga* iyindi mana canke uwundi muntu kiretse wewe mwami, azoca atererwa mu kinogo c’intambwe+. 8 Ubu rero mwami, nushireho iryo tegeko kandi uritereko umukono+ kugira ntirize rihinduke, kuko amategeko y’Abamedi n’Abaperesi adashobora gufutwa+.»

9 Umwami Dariyo aca atera umukono kuri iryo tegeko n’uwo muziro.

10 Daniyeli acumva ko iryo tegeko ryateweko umukono, aca arataha, kandi icumba ciwe co hejuru cari gifise amadirisha araba i Yeruzalemu+. Gatatu ku musi yarapfukama agasenga, akongera agashemeza Imana yiwe nk’uko yari asanzwe abigira. 11 Muri ako kanya, ba bagabo baciye binjira bukwi na bukwi, basanga Daniyeli ariko arasenga yongera atakambira Imana yiwe ngo imugirire ubutoni.

12 Baca baja kuraba umwami, maze bamwibutsa rya tegeko yashiraho bati: «Mbega ntiwashize umukono kw’itegeko rivuga ko mu kiringo c’imisi 30, umuntu wese azosenga iyindi mana canke uwundi muntu kiretse wewe mwami, azoca atererwa mu kinogo c’intambwe?» Umwami abishura ati: «Ico kintu carashinzwe, hisunzwe amategeko y’Abamedi n’Abaperesi adashobora gufutwa+.» 13 Ubwo nyene baca babwira umwami bati: «Daniyeli wo mu Bayuda bari mu bunyagano+, ntiyakwubashe na gato mwami, canke ngo yubahe itegeko washizeko umukono. Aguma asenga Imana yiwe gatatugatatu ku musi+.» 14 Umwami avyumvise biramubabaza cane, aca atangura kwiyumvira ingene yokiza Daniyeli. Aguma akora ibishoboka vyose kugira amukize, gushika izuba rirenze. 15 Vyakabaye kera, abo bagabo binjira ari umugwi aho umwami ari, maze bamubwira bati: «Ewe mwami, wibuke ko amategeko y’Abamedi n’Abaperesi avuga ko umuziro canke itegeko bishinzwe n’umwami bidashobora guhindurwa+.»

16 Umwami aca atanga itegeko, maze bazana Daniyeli bamuterera muri ca kinogo c’intambwe+. Umwami abwira Daniyeli ati: «Imana yawe wama usenga* iragukiza.» 17 Hanyuma bazana ibuye barishira ku munwa w’ico kinogo, umwami aca arishirako ikidodo akoresheje impeta yiwe n’impeta y’abanyacubahiro biwe, kugira ntihagire igihindurwa ku bijanye na Daniyeli.

18 Umwami aca aja ku kirimba ciwe, amara iryo joro yisonzesheje, ntiyemera ikintu na kimwe co kumunezereza* kandi ntiyatora agatiro*. 19 Araheza azinduka mu gaturuturu, aja kuri ca kinogo kirimwo intambwe. 20 Yegereye ico kinogo, ahamagara Daniyeli n’ijwi ry’umubabaro, amubaza ati: «Ewe Daniyeli, musavyi w’Imana nzima, mbega Imana yawe wama usenga yashoboye kugukiza izo ntambwe?» 21 Daniyeli amwishura ati: «Ewe mwami, nuhangame ibihe vyose! 22 Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira akanwa k’izi ntambwe+. Nta na kimwe zangize+ kuko ndi intungane imbere yayo, kandi na wewe nta kibi nagukoreye mwami.»

23 Umwami aca araryoherwa cane, maze ategeka ko bakura Daniyeli muri ico kinogo. Bamukuyeyo, basanga nta na kimwe yabaye, kuko yari yizigiye Imana yiwe+.

24 Umwami aca atanga itegeko, maze bazana ba bagabo bari bareze Daniyeli, baraheza babaterera muri ico kinogo c’intambwe, bari kumwe n’abana babo n’abagore babo. Bataranashika hasi, za ntambwe zibasamira mu kirere, zijanjagura amagufa yabo+.

25 Umwami Dariyo aca yandikira abantu baba kw’isi yose bo mu moko yose, mu mahanga yose n’indimi zitandukanye+, ababwira ati: «Nimugire amahoro menshi! 26 Ntanze itegeko ry’uko ahantu hose mu bwami bwanje, abantu bakwiye kujugumira imbere y’Imana ya Daniyeli+, kuko ari Imana nzima kandi yamaho. Ubwami bwayo ntibuzokwigera busenyurwa, kandi ubutegetsi* bwayo ni ubw’ibihe vyose+. 27 Irarokora+, igakiza, igakora ibimenyetso n’ibitangaza mw’ijuru no kw’isi+, kuko yarokoye Daniyeli ikamukura mu vyara vy’intambwe.»

28 Daniyeli rero araroranirwa ku ngoma ya Dariyo+ no ku ngoma ya Kuro Umuperesi+.

7 Mu mwaka wa mbere Belushazari+ umwami wa Babiloni ari ku ngoma, Daniyeli yararose indoto yongera arerekwa ibintu ari ku gitanda ciwe+. Yaciye yandika iyo ndoto+, yigana iyo nkuru yose. 2 Avuga ati:

«Nariko nitegereza ivyo neretswe mw’ijoro, maze mbona ya miyaga ine yo mw’ijuru iriko irahuhuta, igatuma ikiyaga kinini gisebagirika+. 3 Muri ico kiyaga haca havayo ibikoko bine bininibinini+, kandi nta na kimwe casa n’ikindi.

4 Ica mbere casa n’intambwe+, ariko cari gifise amababa y’inkona+. Nagumye nitegereza gushika amababa yaco aranduwe, hanyuma kirahagurutswa maze gihagarikwa kw’isi ku maguru abiri nka kurya kw’umuntu, kandi gihabwa umutima w’umuntu.

5 Maze mbona ikindi gikoko kigira kabiri kimeze nk’idubu+. Uruhande rumwe rwari hejuru, kandi cari gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa hagati y’amenyo. Hanyuma kibwirwa ngo: “Haguruka, urye inyama nyinshi+.”

6 Inyuma y’ivyo nguma nitegereza, maze mbona ikindi gikoko gisa n’ingwe+, ariko ku mugongo waco cari gifise amababa ane nk’ay’inyoni. Cari gifise imitwe ine+, maze gihabwa ububasha bwo kuganza.

7 Inyuma y’ivyo, nguma nitegereza ivyo nariko nderekwa mw’ijoro, maze mbona igikoko kigira kane gitinyitse, giteye ubwoba cane. Cari gikomeye bidasanzwe kandi cari gifise ivyinyo bininibinini vy’icuma. Caratabagura kikajanjagura ibintu vyose, ibisigaye kikabihonyanga+. Cari gitandukanye n’ibindi bikoko vyose vyaje imbere yaco, kandi cari gifise amahembe cumi. 8 Ncitegereza ayo mahembe, nagiye mbona akandi gahembe gatoyi+ kanaze hagati yayo, atatu muri ya mahembe ya mbere aca arandurwa imbere yako. Ako gahembe kari gafise amaso nk’ay’umuntu n’umunwa uvugana ubwishime*+.

9 Mbandanya kwitegereza, maze mbona bazanye intebe z’ubwami, hanyuma Umwe wa kera cane+ aricara+. Impuzu ziwe zarera nk’urubura*+, kandi umushatsi wo ku mutwe wiwe warera cane nk’ubwoya bw’intama. Intebe yiwe yari imbeya z’umuriro, kandi amapine yayo yari umuriro ururumba+. 10 Umugezi w’umuriro waguma utemba uva imbere yiwe+. Abamarayika ibihumbi kugwiza igihumbi baguma bamukorera, kandi ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi bari bahagaze imbere yiwe+. Nuko Sentare+ irasasa, ibitabu birazingururwa.

11 Mbandanya kwitegereza kubera ka gahembe kariko gatera urwamo, kavuga amajambo y’ubwishime+. Nkiriko nditegereza, ca gikoko kiricwa maze umuvyimba waco utererwa mu muriro, urasha uratokombera. 12 Ariko ibikoko bisigaye+ vyakwa ubutegetsi bwavyo, mugabo vyongerwa kubaho ikiringo kanaka*.

13 Nguma nitegereza ivyo neretswe mw’ijoro, maze mbona uwusa n’umwana w’umuntu+ azananye n’ibicu. Araheza yemererwa kuja aho Umwe wa kera cane+ ari, baramujana gushika imbere yiwe. 14 Aca ahabwa ubutegetsi+, iteka+ n’ubwami kugira ngo abantu bo mu moko yose, amahanga yose n’indimi zitandukanye bamukorere+. Ubutegetsi bwiwe ni ubutegetsi bwamaho, butagira iherezo, kandi ubwami bwiwe ntibuzokwigera busenyurwa+.

15 Mugabo jewe Daniyeli, nari mpagaritse umutima kuko ivyo neretswe vyari vyanteye ubwoba+. 16 Nca negera umwe mu bari bahagaze ng’aho, kugira ndamubaze ico ivyo bintu bisobanura vy’ukuri. Aca aranyishura yongera ambwira insobanuro yavyo ati:

17 “Ivyo bikoko bine bininibinini+, bigereranya abami bane bazofata ubutegetsi kw’isi+. 18 Ariko aberanda ba Rudasumbwa+ bazohabwa ubwo bwami+, kandi buzoba rwabo+ ibihe vyose, emwe gushika ibihe bidahera.”

19 Naciye nipfuza kumenya neza ivya ca gikoko kigira kane, kimwe cari gitandukanye n’ibindi vyose. Cari giteye ubwoba cane kandi cari gifise ivyinyo vy’icuma n’ivyara vy’umujumpu. Caratabagura kikajanjagura ibintu vyose, ibisigaye kikabihonyanga+. 20 Naripfuje kandi kumenya ivya ya mahembe cumi+ yari ku mutwe waco, na rya rindi hembe ryanaga maze amahembe atatu agaca arandurwa imbere yaryo+. Iryo hembe ryari rifise amaso n’umunwa uvugana ubwishime, kandi ryaboneka ko ari rinini kuruta ayandi.

21 Nagumye nitegereza, maze mbona iryo hembe ririko rirwanya aberanda, kandi ryariko rirabatsinda+, 22 gushika Umwe wa kera cane+ aje, agatunganiriza aberanda ba Rudasumbwa+, maze igihe kirashika c’uko aberanda batorana ubwami+.

23 Iyi ni yo nsobanuro yampaye: “Igikoko kigira kane, kigereranya ubwami bugira kane buzoza kw’isi. Buzoba butandukanye n’ubwo bundi bwami bwose, kandi buzoyogeza isi yose, buyihonyange bwongere buyijanjagure+. 24 Ayo mahembe cumi, agereranya abami cumi bazoganza bavuye muri ubwo bwami. Inyuma yabo hazoza uwundi mwami atandukanye n’abo bambere, kandi azocisha bugufi abami batatu+. 25 Azovuga nabi Imana Musumbavyose+, kandi azoguma atoteza aberanda ba Rudasumbwa. Azokwiyumvira guhindura ibihe n’amategeko, kandi aberanda bazorekerwa mu maboko yiwe gushika hace igihe, ibihe n’igice c’igihe*+. 26 Ariko Sentare yarashashe, maze yakwa ubutegetsi bwiwe kugira bamuzimanganye, bamutikize burundu+.

27 Maze ubwami, ubutegetsi n’icubahiro c’ubwami bwose buri munsi y’ijuru bihabwa ihanga rigizwe n’aberanda ba Rudasumbwa+. Ubwami bwabo ni ubwami bwamaho+, kandi ubutegetsi bwose buzobakorera, bubagamburukire.”

28 Aha ni ho iyo nkuru irangiriye. Nayo jewe Daniyeli, ivyiyumviro vyanje vyarampagaritse umutima cane, ku buryo nijirwa mu maso*. Ariko ivyo bintu nabigumije ku mutima.»

8 Mu mwaka ugira gatatu w’ingoma y’umwami Belushazari+, jewe Daniyeli nareretswe ibintu vyiyongera ku vyo nari neretswe ubwa mbere+. 2 Igihe nariko ndihweza ivyo neretswe, nabonye ndi ku kirimba* i Shushani*+ mu ntara ya Elamu+. Muri iryo yerekwa, nabonye ndi iruhande y’uruzi* Ulayi. 3 Ndaramuye amaso, nagiye mbona impfizi y’intama+ ihagaze imbere y’urwo ruzi, kandi yari ifise amahembe abiri+. Ayo mahembe abiri yari maremare, ariko rimwe ryari rirerire gusumba irindi, kandi iryo rirerire ryanaze mu nyuma+. 4 Mbona iyo mpfizi y’intama iguma isekagura amahembe mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko. Nta gikoko na kimwe co mw’ishamba cashobora kuyihagarara imbere, kandi nta wari gushobora kurokora ikintu na kimwe mu vyara* vyayo+. Yakora ivyo yishakiye kandi ikihambaza.

5 Mbandanya kwitegereza, nza mbona isuguru y’impene+ ije iva mu burengero, iriko izunguruka isi yose idakoza amaguru hasi. Yari ifise ihembe riboneka cane hagati y’amaso+. 6 Yariko iza itumbereye ya mpfizi y’intama ifise amahembe abiri, imwe nari nabonye ihagaze imbere ya rwa ruzi. Iza iriruka iyitumbereye n’ishavu ryinshi.

7 Mbona yegereza ya mpfizi y’intama, iyifitiye ishavu ryinshi. Ica irayiseka, iyivuna ya mahembe yayo abiri, kandi iyo mpfizi y’intama ntiyashoboye kuyirwanya. Iyikubita hasi, irayihonyanga, kandi nta washoboye kuyirokora mu vyara vyayo.

8 Iyo suguru y’impene ica itangura kwishira hejuru birenze. Ariko ikimara gukomera, rya hembe rinini rica riravunika, mu kibanza caryo haca hamera amahembe ane aboneka cane, araba ku mpande zine z’isi*+.

9 Kuri rimwe muri yo haca hanaga irindi hembe ritoyi, rica rirakura cane ryerekeza mu bumanuko, mu buseruko no kuri ca gihugu ciza cane*+. 10 Ryarakuze cane rirashika ku ngabo zo kw’ijuru, kandi rituma ingabo zimwezimwe n’inyenyeri zimwezimwe bikorokera kw’isi, maze rirabihonyanga. 11 Ryarirase mbere no ku Muganwa w’izo ngabo, rikuraho ikimazi c’ubudasiba yahora ashikanirwa ryongera risitura ikibanza ceranda yari yarakomeje+. 12 Iryo hembe riraheza ryigarurira ingabo na ca kimazi c’ubudasiba kubera igicumuro. Riguma rishiburira hasi ukuri, kandi riraroranirwa mu vyo rikora vyose.

13 Hanyuma numva umweranda umwe ariko aravuga, maze uwundi mweranda amubaza ati: «Mbega ivyavuzwe mw’iyerekwa bijanye n’ikimazi c’ubudasiba, igicumuro gikwega agatikizo, uguhonyangwa kw’aheranda be n’ingabo, bizobandanya gushika ryari+?» 14 Aca ambwira ati: «Bizomara imigoroba n’ibitondo 2.300, maze ikibanza ceranda kizosubira kumera uko cari kiri.»

15 Jewe Daniyeli nkiriko ndaraba ivyo neretswe nongera ngerageza gutahura insobanuro yavyo, nagiye mbona imbere yanje hahagaze uwusa n’umuntu. 16 Nca numva ijwi ry’umuntu hagati mu ruzi Ulayi+, maze asemerera ati: «Gaburiyeli+, fasha uwo muntu gutahura ivyo yabonye+.» 17 Aca yegera aho nari mpagaze, ariko anshikiriye nca ntekerwa n’ubwoba ku buryo ngwa nubamye. Maze ambwira ati: «Mwana w’umuntu, umenye ko iryo yerekwa ryerekeye igihe c’iherezo+.» 18 Akiriko aramvugisha, nasanze nasinziririye hamwe nagwa nubamye. Aca arankorako, ampagarika hamwe nari mpagaze+. 19 Maze ambwira ati: «Ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe ca nyuma c’ishavu ry’Imana, kuko ivyo bizoshika mu gihe cashinzwe, ni ukuvuga mu gihe c’iherezo+.

20 Irya mpfizi y’intama wabonye y’amahembe abiri, igereranya abami b’Ubumedi n’Ubuperesi+. 21 Irya suguru y’impene y’ivyoya, igereranya umwami w’Ubugiriki+. Rirya hembe rinini ryari hagati y’amaso yayo na ryo, rigereranya umwami wa mbere+. 22 Ko iryo hembe ryavunitse hagaca hanaga ane mu kibanza caryo+, bisobanura ko hazovuka ubwami bune mw’ihanga ryiwe, ariko ntibuzonganya inkomezi na we.

23 Mu kiringo ca nyuma c’ubwami bwabo, igihe ibicumuro bizoba vyarenze urugero*, hazoza umwami atinyitse cane mu maso kandi atahura amajambo afobetse*. 24 Azogira ububasha bwinshi, ariko bitavuye ku nkomezi ziwe. Azoyogeza ibintu ku buryo abantu bifata ku munwa*, kandi azororanirwa, ashike ku co ashaka. Azogeseza abanyabubasha hamwe n’ihanga rigizwe n’aberanda+. 25 Azokoresha ububeshi kugira aroranirwe, kuko ari umunyamayeri. Azokwirata mu mutima kandi azotikiza benshi mu gihe c’amahoro*. Mbere azokwihanga na wa Muganwa w’abaganwa, ariko azovunagurika ata muntu abigizemwo uruhara.

26 Ivyavuzwe mw’iyerekwa bijanye n’imigoroba n’ibitondo, ni ivy’ukuri. Ariko ivyo weretswe ukwiye kubigira ibanga, kuko igihe cavyo kikiri kure cane*+.»

27 Nayo jewe Daniyeli, utuguvu twari twaheze kandi namaze imisi itari mike ndwaye+. Mu nyuma naravyutse, mbandanya gukorera umwami+. Ariko nari natimvye kubera ivyo neretswe kandi nta n’umwe yari kubitegera+.

9 Mu mwaka wa mbere wa Dariyo+ mwene Ahasuwerusi wo mu muryango w’Abamedi, uwari yimitswe ngo aganze ubwami bw’Abakaludaya+, 2 mu mwaka wa mbere w’ingoma yiwe, jewe Daniyeli, mfatiye ku vyo Yehova yabwiye umuhanuzi Yeremiya, naratahuye biciye ku bitabu* igitigiri c’imyaka Yeruzalemu yomaze ari umusaka+, ni ukuvuga imyaka 70+. 3 Naciye nitura Yehova Imana y’ukuri, ndamutakambira mw’isengesho, ndisonzesha+, ndambara amagunira nongera nisiga iminyota. 4 Nuko nsenga Yehova Imana yanje, ndamwaturira ibicumuro vyacu nti:

«Ewe Yehova Mana y’ukuri, wewe uhambaye kandi uteye akoba, wewe ushitsa ivyo wasezeranye ukongera ukereka urukundo*+ abagukunda bakubahiriza amabwirizwa yawe+, 5 twaracumuye, dukora ibitari vyo, dukora ivy’ububisha twongera turagarariza+. Twarahevye amabwirizwa yawe n’ingingo washinze. 6 Ntitwumvirije abasavyi bawe b’abahanuzi+, abo watumye mw’izina ryawe ngo baburire abami bacu, abaganwa bacu, ba sokuruza bacu n’abanyagihugu bose. 7 Ewe Yehova, wewe uragororotse, ariko twebwe twuzuye ibimaramare* nk’uko biri uyu musi, twe n’ababa mu Buyuda, ababa i Yeruzalemu n’Abisirayeli bose, ababa hafi n’ababa kure, mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera baguhemukiye+.

8 Ewe Yehova, twebwe twuzuye ibimaramare, twe n’abami bacu, abaganwa bacu na ba sokuruza bacu, kubera twagucumuyeko. 9 Ewe Yehova Mana yacu, wuzuye imbabazi n’ikigongwe+ naho twakugararije+. 10 Ntitwagamburutse ijwi rya Yehova Imana yacu. Ntitwakurikije amategeko yaduhaye biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi+. 11 Abisirayeli bose bararenze ku mategeko yawe, baraguheba, banka kukugamburukira. Waciye udushitsako umuvumo n’indahiro vyanditswe mu mategeko ya Musa umusavyi w’Imana y’ukuri+, kuko twagucumuyeko. 12 Warashikije ivyo wari waravuze ko uzodukorera+, twe n’abatware bahoze badutwara*, mu kutuzanako ivyago bikomeye. Munsi y’ijuru, nta vyago nk’ivyashikiye Yeruzalemu vyari bwigere bibaho+. 13 Ivyo vyago vyose vyaradushitseko+ nk’uko nyene vyanditswe mu mategeko ya Musa, ariko ntitwagutakambiye ngo utugirire ubuntu, ewe Yehova Mana yacu. Ntitwahevye amakosa yacu+ canke ngo turondere gutahura ukuri* kwawe.

14 Yehova rero yagumye avyitegereza, araheza atuzanako ivyago, kuko Yehova Imana yacu agororotse mu vyo akora vyose. Ariko ntitwamugamburukiye+.

15 Ewe Yehova Mana yacu, wewe wakuye abantu bawe mu Misiri ukoresheje ukuboko kwawe gukomeye+ kandi ukihesha izina rihambaye gushika uyu musi+, twaracumuye kandi twakoze ivy’ububisha. 16 Ewe Yehova, wisunze ibikorwa vyawe vyose bigororotse+, turagusavye ukure ishavu ryawe n’uburake bwawe ku gisagara cawe Yeruzalemu, umusozi wawe mweranda. Kubera ibicumuro vyacu n’amakosa ya ba sogokuruza bacu, Yeruzalemu n’abantu bawe bisigaye ari akamenyo ku badukikuje bose+. 17 Ewe Mana yacu, niwumvirize isengesho ry’umusavyi wawe n’ugutakamba kwiwe, maze usubire kuraba ryiza aheranda hawe+ hasigaye ari umusaka+, ubigire ku bw’izina ryawe, ewe Yehova! 18 Ewe Mana yanje, tega ugutwi wumvirize! Itegereze urabe ingene igisagara citirirwa izina ryawe gisigaye ari umusaka. Ntituriko tugutakambira kubera turi abagororotsi, ahubwo ni kubera imbabazi zawe nyinshi+. 19 Ewe Yehova, nutwumvirize! Ewe Yehova, nutubabarire+! Ewe Yehova, nudutege ugutwi maze udufashe! Ewe Mana yanje, ntutebe ku bw’izina ryawe, kuko igisagara cawe n’abantu bawe vyitirirwa izina ryawe+.»

20 Nkiriko ndavuga, nsenga nongera natura igicumuro canje n’ic’ihanga ryanje rya Isirayeli, nkiriko ndasaba Yehova Imana yanje ngo agirire ubuntu umusozi mweranda w’Imana yanje+, 21 emwe nkiriko ndasenga, nagiye mbona wa mugabo Gaburiyeli+ aza aho ndi, umwe nari nabonye mw’iyerekwa+, asanga narushe nasanzaye. Hari nko mu gihe co gutanga ishikanwa ryo ku mugoroba. 22 Aca arampa insobanuro, ambwira ati:

«Ewe Daniyeli, nzanywe no kukuronsa ugutahura no kugufasha gutegera ibigiye kuba. 23 Ugitangura gutakamba, naciye ndonka ubutumwa, none nje kubugushikiriza kuko uri umuntu akundwa cane*+. Ubu rero nutege ugutwi, kandi utahure insobanuro y’ivyo weretswe.

24 Amayinga* 70 ni yo yashingiwe ihanga ryawe n’igisagara cawe ceranda+, kugira amakosa n’ibicumuro birangire+, kugira ivyaha bitangirwe impongano+, kugira haze ubugororotsi bwamaho+, kugira iyerekwa n’ubuhanuzi* vyemezwe+ no kugira aheranda cane* harobanurwe*. 25 Ukwiye kumenya kandi ugatahura ko kuva hasohotse itegeko ryo kunagura no gusubira kwubaka Yeruzalemu+ gushika kuri Mesiya*+ Indongozi+, hazoca amayinga 7 n’ayandi 62+. Hazonagurwa kandi hasubire kwubakwa, hashirweho ikibanza rusangi* n’umuserege uhakikuje, mugabo hazoba ari mu bihe bitoroshe.

26 Inyuma y’ayo mayinga 62, Mesiya azokurwaho*+ ata na kimwe asize+.

Kandi ingabo z’umutware ariko araza zizosambura ico gisagara n’ikibanza ceranda+. Iherezo ryaho rizozanwa n’isegenya, kandi hazoba intambara gushika kw’iherezo. Imana yashinze ko hazohinduka umusaka+.

27 Azotuma isezerano ryagizwe ku bwa benshi riguma rikora mu kiringo c’indwi imwe, kandi iyo ndwi niyashika hagati azokuraho ibimazi n’amashikanwa+.

Uwuteza agatikizo+ azoza ari ku mababa y’ibintu bisesemye, kandi ivyapfunditswe bizosukwa no ku watikijwe, gushika aherengeteye.»

10 Mu mwaka ugira gatatu Kuro+ umwami w’Ubuperesi ari ku ngoma, hari ubutumwa Daniyeli, uwitwa kandi Beluteshazari+ yahishuriwe. Ubwo butumwa bwari ubw’ukuri kandi bwari bwerekeye amatati akomeye. Ubwo butumwa yarabutahuye kandi arafashwa gutegera ivyo yari yabonye.

2 Ico gihe, jewe Daniyeli nari maze indwi zitatu zuzuye ngandaye+. 3 Namaze indwi zitatu zuzuye ntarya indya ziryoshe. Nta nyama canke umuvinyu nashira mu kanwa, kandi nta n’amavuta nisiga. 4 Ku musi ugira 24 w’ukwezi kwa mbere, nari ku nkengera ya rwa ruzi runini ari rwo Tigiri*+. 5 Ndaramuye amaso, nagiye mbona umugabo yambaye impuzu y’ilino*+, akenyeye mu kiyunguyungu umukaba w’inzahabu y’i Ufazi. 6 Umubiri wiwe warakayangana nk’ibuye ryitwa kirizolito+, mu maso hiwe haraca ibibatsi nk’umuravyo, amaso yiwe na yo yari ameze nk’ibimuri. Amaboko yiwe n’ibirenge vyiwe vyari bimeze nk’umujumpu usenye neza+, kandi ijwi ryiwe ryari rimeze nk’ijwi ry’isinzi ry’abantu. 7 Jewe Daniyeli ni je jenyene nabonye iryo yerekwa. Abo twari kumwe ntibaribonye+. Ahubwo barajugumiye cane, baca biruka kwinyegeza.

8 Naciye nsigara ndi jenyene. Igihe nerekwa ivyo bintu bikomeye, numvise inguvu zitanguye kumperamwo. Narijiriwe mu maso, intege zose ziramperamwo+. 9 Hanyuma numva ariko aravuga, ariko nkimwumva naciye ngwa hasi nubamye, ndatakaza ubwenge+. 10 Maze numva ukuboko kurankozeko kuramvyura+, nca nishimikiza amaboko n’amavi. 11 Aca ambwira ati:

«Ewe Daniyeli, muntu ukundwa cane*+, niwumvirize amajambo ngira nkubwire. Haguruka rero, kuko natumwe kuri wewe.»

Ambwiye gutyo, nca ndahaguruka ndiko ndajugumira.

12 Araheza ambwira ati: «Ewe Daniyeli, ntutinye+. Amajambo yawe yarumviswe uhereye umusi wiyemeza kurondera ugutahura, ukongera ukicisha bugufi imbere y’Imana yawe. Ni co gituma naje+. 13 Ariko umuganwa+ w’ubwami bw’Ubuperesi yamaze imisi 21 andwanya. Mugabo Mikayeli*+, umwe mu baganwa bakurubakuru*, yaciye aza kuntabara. Ico gihe nari ng’aho iruhande y’abami b’Ubuperesi. 14 Nzanywe rero no kugufasha gutahura ibizoshikira ihanga ryawe mu misi y’iherezo+, kuko ivyo weretswe bizoranguka muri kazoza+.»

15 Ambwiye ayo majambo, naciye nunama, mera nka nyamuragi. 16 Maze uwusa n’umuntu yaciye ankora ku minwa+, nca nteranura akanwa, mbwira uwari ahagaze imbere yanje nti: «Mukama wanje, ndiko ndajugumira kubera ivyo neretswe, nta n’utuguvu ngifise+. 17 Bishobotse gute ngo jewe umushumba wawe mvugane na wewe, ga mukama wanje+? Erega utuguvu twose twaheze, nta n’impemu ngisigaranye+.»

18 Umwe asa n’umuntu aca yongera kunkorako, arankomeza+. 19 Araheza ambwira ati: «Ntutinye+, ewe muntu ukundwa cane+! Gira amahoro+. Nukomere, emwe ukomere cane.» Akiriko aramvugisha, naciye numva utuguvu tugarutse, maze mvuga nti: «Vuga mukama wanje, kuko wankomeje.»

20 Aca ambwira ati: «Urazi igituma naje kukuraba? Ubu ngira nsubire kurwana na wa muganwa w’Ubuperesi+. Ninamara kugenda, umuganwa w’Ubugiriki azoca aza. 21 Ariko ngira mbanze ndakumenyeshe ivyanditswe mu gitabu c’ukuri. Nta n’umwe anshigikiye muri ivyo atari Mikayeli+, umuganwa wanyu+.

11 Nayo jewe, mu mwaka wa mbere w’ingoma ya Dariyo+ Umumedi, naraje gufasha Mikayeli nongera ndamukomeza*. 2 Ivyo ngira nkubwire rero ni ukuri:

Umve, hari abandi bami batatu bazoganza* Ubuperesi, kandi uwugira kane azokwegeranya ubutunzi bwinshi kuruta abo bandi bose. Niyamara gukomera kubera ubwo butunzi, azogumura abantu bose* kugira arwanye ubwami bw’Ubugiriki+.

3 Hazoza umwami akomeye maze aganze n’ububasha bwinshi+, kandi azokora ivyo yishakiye. 4 Ariko niyamara gukomera, ubwami bwiwe buzosenyuka, bwigabure bwerekeza ku mpande zine z’isi*+, mugabo ntibuzohabwa abamukomokako* canke ngo bugire ububasha nk’ubwo yari afise, kuko ubwami bwiwe buzorandurwa, bugahabwa abandi.

5 Umwami wo mu bumanuko azokomera, ni ukuvuga umwe mu basoda biwe bakurubakuru*. Ariko uwundi azomutsinda maze aganze n’ububasha bwinshi buruta ubwiwe.

6 Haciye imyaka, abo bami bazokwunga urunani, kandi umukobwa w’umwami wo mu bumanuko azoza ku mwami wo mu buraruko kugira bagiranire amasezerano. Ariko uwo mukobwa ntazogumana ububasha bwiwe, kandi n’uwo mwami ntazohangama, eka mbere n’ububasha bwiwe ntibuzohangama. Uwo mukobwa bazomuhinduka, we hamwe n’abamuzanye, uwamuvyaye be n’uwatuma akomera muri ico gihe. 7 Uwukomoka ku mizi y’uwo mukobwa azosubira mu kibanza c’uwo mwami*, kandi azoza gutera ingabo n’igisagara gikomeye* c’umwami wo mu buraruko. Azobirwanya kandi abitsinde. 8 Vyongeye, azojana mu Misiri imana zabo, ibishusho vyabo bikozwe mu cuma*, ibikoresho vyabo vyizavyiza* bikozwe mw’ifeza n’inzahabu hamwe n’imbohe. Azomara imyaka adatera umwami wo mu buraruko. 9 Umwami wo mu buraruko azoza gutera umwami wo mu bumanuko, ariko azogaruka mu gihugu ciwe.

10 Abahungu biwe* bazokwitegurira intambara, maze begeranye ingabo nyinshi, nyinshi cane. Umwe muri bo azoshwara igihugu cose nka kurya kw’umwuzure. Ariko azosubira inyuma, agende ararwana gushika ashitse mu gisagara ciwe gikomeye.

11 Umwami wo mu bumanuko azoshavura cane maze agende kumurwanya, ni ukuvuga umwami wo mu buraruko. Azokwegeranya* isinzi ryinshi cane, ariko iryo sinzi rizogwa mu minwe y’uwo wundi. 12 Emwe, iryo sinzi rizotwarwa. Azokwuzura* ubwibone kandi azogwisha abantu ibihumbi mirongo, ariko ubwo bubasha bwiwe nta co buzomumarira.

13 Umwami wo mu buraruko azogaruka, maze yegeranye isinzi rinini kuruta irya mbere. Haciye igihe, inyuma y’imyaka nk’ingahe, azozanana n’ingabo nyinshi zifise ibirwanisho bikwiye. 14 Ico gihe benshi bazorwanya umwami wo mu bumanuko.

Mbere n’abantu bakoresha igikenye* bo mw’ihanga ryawe bazokwoshwa ngo bagerageze gutuma iyerekwa riranguka, ariko bizobata ku w’amazi.

15 Umwami wo mu buraruko azoza, asugereze igisagara gikingijwe ibihome maze acigarurire. Ingabo* zo mu bumanuko n’abasirikare biwe b’intwari ntibazoshobora kwirwanira. Emwe, ntibazoronka inguvu zo kwirwanira. 16 Uwuje kurwanya umwami wo mu bumanuko azokora ivyo yishakiye, kandi nta wuzomuhagarara imbere. Azohagarara muri ca gihugu ciza cane*+, kandi azoba afise ububasha bwo gutikiza. 17 Azokwiyemeza kuzanana n’inguvu zose z’ubwami bwiwe, ariko azogirana amasezerano na we, kandi azororanirwa. Azohabwa uburenganzira bwo kugirira nabi umukobwa w’abagore. Uwo mukobwa ntazororanirwa, kandi ntazoguma ari uwiwe. 18 Azohindukirira ku bihugu biri ku nkengera y’ikiyaga, kandi azokwigarurira vyinshi muri vyo. Ariko umukomanda azokwikurako iceyi yamusize, kimuveko cose. Azogisubiza ku wakimusize. 19 Azoca* asubira mu bisagara bikomeye vyo mu gihugu ciwe, kandi azotsitara agwe, azimangane.

20 Mu kibanza ciwe hazoza uwundi arungika umutozakori* muri bwa bwami bwiza cane. Ariko mu misi mikeyi azosenyuka, adasenyuwe n’ishavu canke intambara.

21 Mu kibanza ciwe hazoza uwundi akengeretse, kandi ntibazomuha icubahiro kibereye abami. Azoza mu gihe c’amahoro*, maze afate ubwami akoresheje akarimi gasosa*. 22 Azokukumura ingabo zisendanisha nk’umwuzure, kandi zizokurwaho cokimwe na ya Ndongozi+ y’isezerano+. 23 Kubera yuko abandi bazoba bagize urunani na we, azokoresha ububeshi, aje hejuru kandi akomere biciye kw’ihanga ritoyi. 24 Mu kiringo c’amahoro, azokwinjira mu turere dutunze cane tw’intara, kandi azokora ivyo ba se na ba sekuruza batigeze bakora. Azoha abantu ivyanyazwe, ivyasahuwe hamwe n’ibindi bintu. Azogira imigambi yo gutera ibibanza bikingijwe ibihome, ariko bizomara akanya gato.

25 Azoja kurwanya umwami wo mu bumanuko ari kumwe n’ingabo nyinshi, abigire n’umutima wiwe wose n’inguvu ziwe zose, kandi umwami wo mu bumanuko azokwitegurira iyo ntambara ari kumwe n’ingabo nyinshi cane kandi zikomeye. Ariko ntazoshobora* kumurwanya, kuko bazoba bamugiriye imigambi. 26 Abahora basangira na we ivyo kurya vyiwe biryoshe ni bo bazotuma atemba.

Nayo ingabo ziwe, zizomera nk’izakukumuwe n’umwuzure, kandi benshi muri bo bazopfa.

27 Abo bami babiri bazokwicara ku meza imwe babwirane ibinyoma, ariko mu mitima yabo bazoba bariko biyumvira gukora ibibi. Mugabo nta kizovamwo, kuko igihe c’iherezo kitazoba kirashika+.

28 Azosubira inyuma* mu gihugu ciwe afise ibintu vyinshi, kandi azokwiyemeza kurwanya rya sezerano ryeranda. Azororanirwa hanyuma asubire inyuma mu gihugu ciwe.

29 Igihe kigeze, azogaruka gutera ubumanuko, ariko ntibizogenda nk’uko vyagenze ubwa mbere, 30 kuko amato* y’i Kitimu+ azoza kumutera, kandi azocishwa bugufi.

Azoca asubira inyuma, ate ishavu kuri rya sezerano ryeranda+, kandi azororanirwa. Emwe azosubira inyuma, yiteho abaheba rya sezerano ryeranda. 31 Ingabo ziwe zizoza zihumanye aheranda+, ari co gihome gikomeye, kandi zizokuraho ca kimazi c’ubudasiba+.

Zizoshiraho ca kintu gisesemye giteza agatikizo+.

32 Azotuma abarwanya rya sezerano bagarariza, akoresheje akarimi gasosa*. Ariko abazi Imana yabo bazotsinda kandi bazororanirwa. 33 Abafise ugutahura*+ bazofasha benshi gutegera. Bazomara imisi batsitajwe n’inkota n’urubeya, ubunyagano be n’ugusahurwa. 34 Ariko nibatsitazwa, bazofashwa gatoyi kandi benshi bazobiyungako bakoresheje akarimi gasosa. 35 Bamwe mu bafise ugutahura bazotsitazwa, kugira habe igikorwa c’ugutyororwa, uguhumanurwa n’ukwezwa+ kubera bo, gushika mu gihe c’iherezo, kuko igihe cavyo kitaragera.

36 Uwo mwami azokora ivyo ashatse vyose kandi azokwishima, yishire hejuru y’imana zose. Azovuga ibintu biteye ubwoba vyo gutyoza ya Mana iruta izindi mana+. Azororanirwa gushika ishavu ry’Imana rirangiye, kuko ivyapfunditswe bitegerezwa kuranguka. 37 Ntazokwubaha Imana ya ba sekuruza canke icipfuzo c’abagore canke iyindi mana iyo ari yo yose, ariko azokwishira hejuru y’abantu bose. 38 Ahubwo azoninahaza imana y’ibisagara bikingijwe ibihome. Azoninahaza imana ba sekuruza batigeze bamenya, abigire akoresheje inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’ibindi bintu vyizavyiza*. 39 Azororanirwa mu kurwanya ibisagara* bikingiwe neza kuruta ibindi, afashijwe* n’imana y’inyamahanga. Abamwemera* bose azobaninahaza cane, kandi azobaha kuganza abantu benshi. Ubutaka azobugabura, abutange ku mahera.

40 Mu gihe c’iherezo, umwami wo mu bumanuko azotana mu mitwe na we biciye ku gusunikana. Umwami wo mu buraruko azomuzako nk’igihuhusi, ari kumwe n’imikogote, abagendera ku mafarasi hamwe n’amato menshi. Azokwinjira mu bihugu, abishwaremwo nk’umwuzure. 41 Azokwinjira no muri ca gihugu ciza cane*+, kandi ibihugu vyinshi bizotsitara. Ariko ibi ni vyo bizomucika: Edomu, Mowabu n’igice nyamukuru c’Abamoni. 42 Azoguma akoresha ububasha bwiwe mu kurwanya ibihugu, kandi igihugu ca Misiri ntikizorusimba. 43 Azokwigarurira ubutunzi bunyegejwe bw’inzahabu n’ifeza, hamwe n’ibintu vyose vyizavyiza* vyo mu Misiri. Abanyalibiya n’Abanyetiyopiya bazomukurikira*.

44 Mugabo amakuru avuye mu buseruko no mu buraruko azomuhagarika umutima, ace agenda n’ishavu ryinshi kurandura no gutikiza abantu benshi. 45 Azoshinga amahema yiwe y’abami* hagati ya ca kiyaga kinini na wa musozi mweranda mwiza cane*+. Iherezo ryiwe rizoba rishitse, kandi nta wuzomutabara.

12 Ico gihe Mikayeli*+, wa muganwa+ ahagaze kugira afashe ihanga ryawe azohaguruka. Kandi hazobaho igihe c’amarushwa atigeze abaho kuva habayeho ihanga gushika ico gihe. Muri ico gihe abantu bawe bazorusimba+, uwo wese izina ryiwe rizoba ryanditswe mu gitabu+. 2 Benshi mu basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima budahera, abandi bikangurire ibimaramare n’iceyi c’ibihe bidahera.

3 Abafise ugutahura* bazokayangana nk’ikirere co kw’ijuru, abazana benshi ku bugororotsi na bo bakayangane nk’inyenyeri gushika ibihe bidahera.

4 Nayo wewe ga Daniyeli, ayo majambo nuyagire ibanga kandi wugare ico gitabu ukoresheje ikidodo, gushika mu gihe c’iherezo+. Benshi bazogisuzuma bitonze*, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira+.»

5 Hanyuma jewe Daniyeli nditegereza, maze mbona abandi babiri bari bahagaze hafi y’uruzi, umwe ku nkengera yo hakuno, uwundi ku nkengera yo hakurya+. 6 Umwe muri bo aca abaza wa muntu yari yambaye impuzu z’ilino*+, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi y’urwo ruzi ati: «Hazoca igihe kingana iki kugira ivyo bintu bitangaje birangire?» 7 Nca numva wa muntu yambaye impuzu z’ilino ariko aravuga, umwe yari ahagaze hejuru y’amazi. Aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo n’ukw’ukubamfu, maze arahira Umwe yamaho ibihe vyose+ ati: «Hazoca igihe, ibihe n’igice c’igihe*, kandi vyaramaze gushingwa. Nibaheza kujanjagura inkomezi z’ihanga ryeranda+, ivyo vyose bizoca birangira.»

8 Nayo jewe, naravyumvise ariko sinabitegereye+. Naciye ndamubaza nti: «Mukama wanje, ivyo vyose bizohera gute?»

9 Na we anyishura ati: «Niwigire Daniyeli, kuko ayo majambo akwiye kuguma ari ibanga kandi akaguma yugawe hakoreshejwe ikidodo gushika mu gihe c’iherezo+. 10 Benshi bazokwihumanura, biyeze kandi bityorore+. Ababisha bazoguma bakora ivy’ububisha, kandi nta n’umwe muri bo azobitahura. Ariko abafise ugutahura* bazobitegera+.

11 Kuva hakuweho ca kimazi c’ubudasiba+ gushika hashizweho ca kintu gisesemye giteza agatikizo+, hazoca imisi 1.290.

12 Arahiriwe uwuguma arindiriye* gushika imisi 1.335 iheze.

13 Nayo wewe, nugume ushikamye gushika kw’iherezo. Uzokwiruhukira, ariko uzohaguruka kugira uronke umugabane wawe* mu misi y’iherezo+.»

Canke «mu rusengero.»

Ni ukuvuga Babiloni.

Mu giheburayo havuga ngo «abana.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bagaburirwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»

Iryo zina risobanura ngo «Imana ni umucamanza wanje.»

Iryo zina risobanura ngo «Yehova yarangiriye ubuntu.»

Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»

Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaramfashije.»

Ni ukuvuga amazina y’Abanyababiloni.

Mu giheburayo havuga ngo «mutumye umutwe wanje wagirwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «kandi bavyibushe.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Canke «n’abahamagara imizimu.»

Canke «abahamagara imizimu.»

Wari umugwi w’abahinga mu vy’ubupfumu no mu vyo kuragurisha inyenyeri.

Mu ntango igisomwa co muri Dn 2:4b gushika 7:28b canditswe mu rurimi rw’igiharameya.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»

Canke «n’igifise umubiri.»

Canke «inkerebutsi.»

Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»

Canke «mu misi ya nyuma.»

Canke «ubukerebutsi.»

Canke «ibumba rituriye (ribumbabumvye).»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Mu giharameya havuga ngo «n’ibumba ry’umubumvyi.»

Canke «n’ibumba ryoroshe.»

Canke «n’uruvyaro rw’abantu.» Ni ukuvuga abanyagihugu batobato.

Ni nk’imetero 27. Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’imetero 2,7. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ku buryo ahindura cane ukuntu abafata.»

Canke «guheba imibiri yabo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»

Canke «aca ateza imbere.»

Canke «ubutegetsi bwayo bwamaho uko urunganwe rugenda rurakurikirana.»

Canke «inkerebutsi.»

Wari umugwi w’abahinga mu vy’ubupfumu no mu vyo kuragurisha inyenyeri.

Canke «igifise umubiri cose.»

Canke «gutangira ukuboko kwayo.»

Canke «uruhome rusirivye (ruteye iripu).»

Canke «aca arahinduka mu maso.»

Canke «abahamagara imizimu.»

Wari umugwi w’abahinga mu vy’ubupfumu no mu vyo kuragurisha inyenyeri.

Canke «inkerebutsi.»

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Canke «umuntu abishoboye.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Mu giharameya havuga ngo «no gupfundurura amapfundo.»

Canke «ifise mu kuboko kwayo impemu zawe n’inzira zawe zose.»

Mu giharameya havuga ngo «impwemu.»

Mu giharameya havuga ngo «vy’ubwami.»

Canke «azosaba.»

Canke «wama ukorera.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntiyemera ko bamuzanira abaririmvyi.»

Mu giharameya havuga ngo «itiro ryiwe riramuhunga.»

Canke «ubukuru kaminuza», «ubusegaba.»

Canke «ubwibone.»

Canke «zarera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Canke «igihe n’ikiringo.»

Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.

Canke «ku buryo mu maso hanje hahinduka.»

Canke «mu kibanza gikingijwe ibihome.»

Canke «i Suza.»

Canke «y’umugende.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu kuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «araba kuri ya miyaga ine y’ijuru.»

Canke «ca gihugu c’ikirezi.»

Canke «igihe abacumuzi bazoba bimonogoje.»

Canke «azi gutegura imigambi y’urwenge.»

Canke «azoteza agatikizo gakomeye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «azotikiza benshi giturumbuka.»

Canke «kuko ari ivyo muri kazoza ka kure.»

Ni ukuvuga ibitabu vyeranda.

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «twuzuye ibimaramare ku maso.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’abacamanza bahoze baducira imanza.»

Canke «ubwizigirwa.»

Canke «w’agaciro kanini», «ashimwa cane.»

Ni ukuvuga amayinga agizwe n’imyaka. Iyinga 1 ringana n’imyaka 7.

Mu giheburayo havuga ngo «n’umuhanuzi.»

Canke «aheranda h’aheranda.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «gushika ku warobanuwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «azokwicwa.»

Mu gifaransa ni Tigre. Mu giheburayo havuga ngo «Hidekeli.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «w’agaciro kanini», «ashimwa cane.»

Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»

Canke «umuganwa wo mu rwego rwa mbere.»

Canke «nongera ndamubera nk’uruhome rukomeye.»

Canke «bazohaguruka kugira baganze.»

Canke «azofata ibintu vyose.»

Mu giheburayo havuga ngo «bwerekeza kuri ya miyaga ine y’ijuru.»

Canke «uruvyaro rwiwe.»

Canke «umwe mu baganwa biwe.»

Biboneka ko ari umwami wo mu bumanuko.

Canke «gikingijwe ibihome.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Canke «vy’agaciro.»

Biboneka ko ari umwami wo mu buraruko.

Biboneka ko ari umwami wo mu buraruko.

Biboneka ko ari umwami wo mu bumanuko.

Canke «n’abana b’inkozi z’ikibi.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaboko.»

Canke «ca gihugu c’ikirezi.»

Biboneka ko ari umwami wo mu buraruko.

Canke «uwukoresha ibikorwa.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «azoza giturumbuka.»

Canke «akoresheje urwenge.»

Biboneka ko ari umwami wo mu buraruko.

Biboneka ko ari umwami wo mu buraruko.

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «uburyarya.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Canke «vy’agaciro.»

Canke «ibisagara bizitijwe impome.»

Canke «ari kumwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abo yemera.»

Canke «ca gihugu c’ikirezi.»

Canke «vy’agaciro.»

Canke «bazokurikira intambuko ziwe.»

Canke «y’ikirimba.»

Canke «w’ikirezi.»

Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Mu giheburayo havuga ngo «bazonyuragira irya n’ino.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Canke «uwuguma arindiranye igishika.»

Canke «uzohagarara mu kibanza wahawe.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika