INKURU NZIZA YA MARIKO
1 Intango y’inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu, Umwana w’Imana: 2 Nk’uko vyanditswe mu gitabu c’umuhanuzi Yesaya ngo: «(Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, kandi izotegura inzira yawe+.) 3 Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati: “Nimutegure inzira ya Yehova*! Nimugorore ibarabara ryiwe+.”» 4 Yohani Umubatizi yari mu bugaragwa, akigisha abantu ngo babatizwe kugira berekane ko bigaye maze bababarirwe ibicumuro vyabo+. 5 Abantu bose bo mu karere ka Yudaya n’i Yeruzalemu baguma baza kuri we, na we akababatiza* mu ruzi Yorodani, kandi bakatura icese ibicumuro vyabo+. 6 Yohani yambara ubwoya bw’ingamiya, agakenyera umukaba w’urushato mu kiyunguyungu+. Yarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba+. 7 Yamamaza avuga ati: «Hari umuntu akomeye kundusha ariko araza inyuma yanje, kandi simbereye no kwunama ngo mbohore imigozi y’ibirato* vyiwe+. 8 Jewe ndababatiza mu mazi, ariko we azobabatiza mu mpwemu nyeranda+.»
9 Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti muri Galilaya, maze Yohani amubatiza mu ruzi Yorodani+. 10 Ubwo nyene yiburutse mu mazi, abona ijuru ryugurutse n’impwemu nyeranda imanuka iza kuri we imeze nk’inuma+. 11 Maze ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye+.»
12 Ubwo nyene impwemu ica iramugobera ngo aje mu bugaragwa. 13 Amara imisi 40 mu bugaragwa ariko ageragezwa na Shetani+. Yari kumwe n’ibikoko vyo mw’ishamba, ariko abamarayika baguma bamwitwararika+.
14 Yohani amaze gufatwa, Yezu aca aja i Galilaya+. Agenda aramamaza inkuru nziza y’Imana+, 15 avuga ati: «Igihe cashinzwe kirageze, kandi Ubwami bw’Imana buri hafi. Nimwigaye+ kandi mwizere inkuru nziza.»
16 Aciye ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona Simoni na mwenewabo Andereya+. Bariko baterera insenga mu kiyaga+, kuko bari abarovyi+. 17 Yezu aca ababwira ati: «Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.» 18 Ubwo nyene baca baheba insenga zabo baramukurikira+. 19 Yigiye imbere gatoyi, abona Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani. Bari mu bwato bwabo bari kumwe na se wabo Zebedayo bariko barasanasana insenga zabo+, 20 ubwo nyene aca arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebedayo mu bwato ari kumwe n’abakozi biwe, na bo baramukurikira. 21 Hanyuma baja i Kaperinawumu.
Hageze ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha+. 22 Abantu baratangazwa cane n’uburyo yigisha, kuko yabigisha nk’umuntu afise ububasha, atari nka ba banditsi+. 23 Muri uwo mwanya nyene, mw’isinagogi hariyo umuntu yarimwo impwemu mbi*. Aca arasemerera ati: 24 «Dupfa iki nawe ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi neza uwo uri we, uri wa Mweranda w’Imana+.» 25 Mugabo Yezu aca arayikankamira ati: «Hora, kandi muvemwo!» 26 Iyo mpwemu ica iramujegeza yongera irasemerera n’ijwi ryayo ryose, ica iramuvamwo. 27 Emwe abantu bose barumirwa, ku buryo batangura kubazanya bati: «Ibi ni ibiki ga yemwe? Ni inyigisho nshasha! Mbere n’impwemu mbi arazitegeka akoresheje ububasha kandi zikamugamburukira.» 28 Nuko inkuru ya Yezu ikwiragira ningoga mu karere kose ka Galilaya.
29 Baca bava mw’isinagogi maze baja muhira kwa Simoni na Andereya, bari kumwe na Yakobo na Yohani+. 30 Inabukwe wa Simoni+ yari aryamye, arwaye inyonko. Ubwo nyene baca babwira Yezu ko arwaye. 31 Yezu aca aramwegera, amufata ukuboko aramuhagurutsa. Ya nyonko ica irakira, aca atangura gutegura ivyo abazimana.
32 Hageze ku mugoroba, izuba rimaze kurenga, abantu batangura kumuzanira abarwaye bose n’abarimwo amadayimoni+. 33 Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu. 34 Nuko akiza abantu benshi barwaye indwara zitandukanye+, yongera yirukana amadayimoni menshi. Ariko ntiyareka ayo madayimoni ngo avuge, kuko yari azi ko ari Kristu*.
35 Mu gatondo ka kare hakiri mu kajoro, aravyuka aja hanze ahantu hiherereye, maze atangura gusenga+. 36 Ariko Simoni n’abari kumwe na we batangura kumuhiga. 37 Bamutoye, bamubwira bati: «Bose bariko barakurondera.» 38 Abishura ati: «Tugende ahandi mu bisagara vyo mu micungararo, kugira na ho nyene namamazeyo inkuru nziza, kuko ari co canzanye+.» 39 Aca azunguruka i Galilaya hose, agenda aramamaza inkuru nziza mu masinagogi yabo yongera yirukana amadayimoni+.
40 Haza umunyamibembe, aramwinginga yapfukamye, amubwira ati: «Ubishatse, urashobora kumpumanura+.» 41 Yezu aca amwumvira impuhwe, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: «Ndabishaka! Humanuka+.» 42 Ubwo nyene iyo mibembe ica iramuvako, arahumanuka. 43 Yezu aca aramurungika, ariko abanza kumwihanikiriza ati: 44 «Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ahubwo genda wiyereke umuherezi, ushikane ivyo Musa yategetse vyerekana ko wahumanutse+, kugira bibabere icabona+.» 45 Mugabo amaze kugenda, aca atangura kubwira abantu bose ivyari vyamushikiye. Ivyo vyatumye Yezu adasubira kwinjira mu gisagara na kimwe ku mugaragaro, ahubwo aguma hanze y’igisagara mu gahinga. Ariko abantu baguma bamusangayo bavuye mu mihingo yose+.
2 Ariko haciye imisi mikeyi, Yezu agaruka i Kaperinawumu, bica birakwiragira hose ko yagarutse iwabo+. 2 Abantu benshi baca bakoranira ng’aho, ku buryo ata n’ikibanza gisigara, mbere n’iruhande y’umuryango. Yezu aca atangura kubigisha ijambo ry’Imana+. 3 Hanyuma bamuzanira umuntu amugaye ateruwe n’abagabo bane+. 4 Ariko kubera ko abantu bari benshi cane, ntivyakunze ko bamwinjiza aho Yezu yari. Baca bakurako ibisakazo hejuru y’aho Yezu yari, maze bururutsa inderuzo uwo muntu yari aryamyeko bacishije mu gitoboro batoboye. 5 Yezu abonye ukwizera kwabo+, aca abwira uwo muntu amugaye ati: «Mwananje, ibicumuro vyawe birababariwe+.» 6 Hari bamwe mu banditsi bari bicaye ng’aho, bariko biyumvira mu mitima yabo bati+: 7 «Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Hari uwundi ashobora kubabarira ibicumuro atari Imana+?» 8 Ubwo nyene Yezu aca aramenya ivyo bariko bariyumvira, maze ababaza ati: «Kubera iki muriko muriyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu+? 9 None icoroshe ni ikihe? Ni ukubwira uwo muntu amugaye ngo: “Ibicumuro vyawe birababariwe”, canke ni ukumubwira ngo: “Haguruka utore inderuzo yawe utambuke”? 10 Mugabo kugira mumenye ko Umwana w’umuntu+ afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi+...» Aca abwira uwo muntu amugaye ati: 11 «Ndabikubwiye: haguruka, utore inderuzo yawe witahire.» 12 Ubwo nyene aca arahaguruka, atora inderuzo yiwe, asohoka bose babona. Abantu baca baratangara cane, maze baninahaza Imana bati: «Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’iki+.»
13 Yezu yongera gusohoka, aja iruhande y’ikiyaga. Amasinzi y’abantu aguma aza aho ari, na we atangura kubigisha. 14 Ariko ararengana, abona Lewi mwene Alufayo yicaye aho batoreza ikori*, maze amubwira ati: «Nkurikira.» Ubwo nyene aca arahaguruka aramukurikira+. 15 Mu nyuma, igihe Yezu yari mu nzu kwa Lewi ariko arafungura*, abatozakori n’abacumuzi benshi bariko barasangira na we hamwe n’abigishwa biwe, kuko bariko bamukurikira ari benshi+. 16 Ariko abanditsi b’Abafarizayo babonye ko ariko asangira n’abacumuzi n’abatozakori, babaza abigishwa biwe bati: «Mbega arasangira n’abatozakori hamwe n’abacumuzi?» 17 Yezu avyumvise, aca ababwira ati: «Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi+.»
18 Abigishwa ba Yohani n’Abafarizayo bari bafise akamenyero ko kwisonzesha. Nuko baraza, babaza Yezu bati: «Kubera iki abigishwa ba Yohani n’abigishwa b’Abafarizayo bisonzesha, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe+?» 19 Yezu abishura ati: «None abagenzi b’umukwe+ hari impamvu bafise yo kwisonzesha kandi umukwe akiri kumwe na bo? Ntibashobora kwisonzesha umukwe akiri kumwe na bo. 20 Ariko hazogera igihe umukwe akurwe muri bo+, ico gihe rero bazoheza bisonzeshe. 21 Nta wutera ikiremo gishasha ku mpuzu ishaje. Abigize ico kiremo gishasha cokwega iyo mpuzu ishaje igaca itabuka cane+. 22 Vyongeye, nta wushira umuvinyu mushasha mu mikuza* ishaje. Abigize uwo muvinyu woturitsa iyo mikuza, maze umuvinyu n’imikuza vyose bikononekara. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza mishasha.»
23 Umusi umwe, Yezu yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, hanyuma abigishwa biwe bagenda baraha* amahundo y’intete+. 24 Abafarizayo baca bamubwira bati: «Ehe raba! Kubera iki bariko bakora ibintu bitemewe gukorwa kw’isabato?» 25 Aca abishura ati: «Mbega ntimwigeze musoma ico Dawidi yakoze igihe we n’abantu bari kumwe na we basonza, babuze ico bafungura+? 26 Nk’uko inkuru ya Abiyatari+ umukuru w’abaherezi ibivuga, Dawidi yarinjiye mu nzu y’Imana maze arya imikate y’ishikanwa*, kandi ata muntu n’umwe yari yemerewe kuyirya kiretse abaherezi+. Kandi yarayihayeko n’abantu bari kumwe na we.» 27 Yongerako ati: «Isabato yabayeho ku bw’umuntu+, si umuntu yabayeho ku bw’isabato. 28 Umwana w’umuntu rero arafise ububasha no kw’isabato*+.»
3 Yezu yongera kwinjira mw’isinagogi, asanga hariyo umugabo afise ukuboko kumugaye*+. 2 Abafarizayo bariko baramwihweza bitonze ngo barabe ko akiza uwo mugabo kw’isabato, kugira bamwagirize. 3 Maze abwira uwo mugabo afise ukuboko kumugaye ati: «Haguruka uze aha hagati.» 4 Aca ababwira ati: «Mbega kw’isabato vyoba vyemewe gukora igikorwa ciza canke kibi, gukiza umuntu canke kumwica+?» Ariko baguma binumiye. 5 Amaze kweraguza abaraba kandi yashavuye, atuntujwe n’ukuntu imitima yabo ikomantaye+, aca abwira uwo mugabo ati: «Ramvura ukuboko kwawe.» Na we arakuramvura, guca kurakira. 6 Abafarizayo baca barasohoka, ubwo nyene batangura kuja inama n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+ kugira bamwice.
7 Ariko Yezu aca aja ku kiyaga ari kumwe n’abigishwa biwe, kandi abantu benshi bavuye i Galilaya n’i Yudaya baramukurikira+. 8 Mbere n’abandi bantu benshi baramukurikira bavuye i Yeruzalemu, muri Idumeya, hakurya ya Yorodani no mu micungararo ya Tiro na Sidoni, kuko bari bumvise ibintu vyose yariko arakora. 9 Abwira abigishwa biwe ngo bamuronderere ubwato butoyi, kugira ngo isinzi ntirimugunde. 10 Kubera ko yari amaze gukiza abantu benshi, abari bafise indwara zikomeye bose bariko baramuhundarako kugira bamukoreko+. 11 Mbere n’abantu barimwo impwemu mbi*+, igihe cose bamubonye baramwunamira, bagasemerera bati: «Uri Umwana w’Imana+!» 12 Mugabo kenshi yarabihanikiriza ngo ntibavuge uwo ari we+.
13 Hanyuma aduga umusozi, ahamagara abo ashaka+, na bo baza aho ari+. 14 Atora* umugwi w’abantu 12, ari na bo kandi yise intumwa. Abo rero bari kugumana na we, akabarungika kwamamaza inkuru nziza 15 kandi akabaha ububasha bwo kwirukana amadayimoni+.
16 Ng’aba abari bagize uwo mugwi w’abantu 12+: Simoni, ari we yataziriye Petero+, 17 Yakobo umuhungu wa Zebedayo na mwenewabo Yohani (ari bo yataziriye Bowanerige, bikaba bisobanura ngo: «Abana b’umuturagaro+»), 18 Andereya, Filipo na Barutelemi, Toma na Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni Umunyamwete* 19 na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye amugurisha.
Hanyuma yinjira mu nzu, 20 maze isinzi ry’abantu ryongera gukorana ku buryo bidakunda n’uko bafungura. 21 Ariko abo mu muryango wiwe bavyumvise, baca baja kumufata kuko biyumvira yuko yasaze+. 22 Vyongeye, abanditsi bari bavuye i Yeruzalemu bariko bavuga bati: «Arimwo Beyezebuli*, kandi yirukana amadayimoni abifashijwe n’umutware w’amadayimoni+.» 23 Aca arabahamagara, maze abishura akoresheje ibigereranyo* ati: «Shetani ashobora gute kwirukana Shetani? 24 Iyo ubwami bwiciyemwo ibice ntibushobora kurama+, 25 kandi iyo urugo rwiciyemwo ibice ntirushobora kurama. 26 Nimba rero Shetani yirwanya kandi akicamwo ibice, ntashobora kurama, ahubwo ivyiwe vyoba biheze. 27 Nkako, nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y’umuntu w’inguvu akamwiba ivyo atunze, kiretse abanje kumuboha. Aho ni ho yoshobora gusahura ibiri mu nzu yiwe. 28 Ni ukuri, ndababwiye ko abantu bazobabarirwa ibicumuro vyose bokora canke ibitutsi* vyose bovuga. 29 Ariko uwutuka impwemu nyeranda* ntazobibabarirwa+, ahubwo azokwagirwa n’igicumuro camaho+.» 30 Ivyo yabivuze kubera bariko bavuga ngo: «Arimwo impwemu mbi*+.»
31 Hanyuma nyina wiwe na benewabo+ baraza. Bahagarara hanze maze batuma umuntu kumuhamagara+. 32 Ico gihe abantu benshi bari bicaye bamukikuje, maze bamubwira bati: «Nyoko wawe na benewanyu bari hanze, kandi bariko barakurondera+.» 33 Abishura ati: «Mawe na benewacu ni bande?» 34 Aca araba abari bicaye bamukikuje, maze avuga ati: «Mawe na benewacu ng’aba+! 35 Uwo wese akora ivyo Imana ishaka, ni we mwenewacu na mushikanje na mawe+.»
4 Yezu yongera kwigisha ari iruhande y’ikiyaga, hanyuma isinzi ry’abantu benshi cane riramwegera. Aca yurira ubwato abwicaramwo. Yari kure y’inkengera, ariko iryo sinzi ryose ryari ku nkengera hafi y’ikiyaga+. 2 Atangura kubigisha ibintu vyinshi mu bigereranyo+, ababwira ati+: 3 «Umve! Umubivyi yaragiye kubiba imbuto+. 4 Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira maze inyoni ziraza zirazirya. 5 Izindi zigwa ahantu h’urubuyebuye hatagira ivu ryinshi, ubwo nyene zica ziramera kuko ivu ritashika kure+. 6 Ariko izuba riserutse, zaciye zibabuka ziruma kuko zitagira imizi. 7 Izindi mbuto zaguye mu mahwa, hanyuma ayo mahwa arakura, atuma zizingama, ntizama ivyamwa+. 8 Ariko hari izindi zaguye mw’ivu ryiza, hanyuma zirakura ziragwira, zitangura kwama, rumwe rwama 30, urundi 60, urundi 100+.» 9 Aca yongerako ati: «Uwuri n’amatwi niyumve+.»
10 Igihe yari wenyene, abigishwa bamwebamwe hamwe na bamwe cumi na babiri batangura kumubaza ibibazo kuri ivyo bigereranyo+. 11 Na we abishura ati: «Mwebwe mwarahawe gutahura ibanga ryeranda+ ry’Ubwami bw’Imana, ariko abandi ndabigisha ibintu vyose mu bigereranyo+, 12 kugira ngo naho baraba ntihagire ico babona, kandi naho bumva ntihagire ico batahura. Ni co gituma batazokwigera bahindukira ngo bababarirwe+.» 13 Yongerako ati: «Ko mudatahuye iki kigereranyo, none muzotahura gute ibindi bigereranyo vyose?
14 Umubivyi abiba ijambo ry’Imana+. 15 Imbuto zabibwe iruhande y’inzira, zigereranya abantu bumva iryo jambo ariko bakimara kuryumva Shetani agaca aza+ agatwara iryo jambo ryabibwe muri bo+. 16 Izabibwe ahantu h’urubuyebuye na zo, zigereranya abantu bumva ijambo ry’Imana, ubwo nyene bagaca baryemera n’akanyamuneza+. 17 Ariko ntibashinga imizi. Bamara akanya gato, ariko hadutse ingorane canke uruhamo kubera iryo jambo, baca batsitara. 18 Hari n’izindi zabibwe mu mahwa. Izo na zo zigereranya abumva iryo jambo+, 19 mugabo amaganya+ y’ubuzima bwo muri iyi si* n’ububasha buhendana bw’ubutunzi+ hamwe n’ivyipfuzo+ vy’ubwoko bwose bikabinjiramwo, hanyuma bikarinyoha maze ntiryame. 20 Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumva iryo jambo bakaryakira neza, hanyuma bakama incuro 30, 60 na 100+.»
21 Yongera kubabwira ati: «Mbega hari uwozana itara kugira arishire munsi y’igiseke* canke munsi y’igitanda? Mbega ntarizana kugira arishire ku co bariterekako+? 22 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe kitazoja ahabona, kandi nta kintu na kimwe cagizwe ibanga kitazoja ku mugaragaro+. 23 Uwuri n’amatwi niyumve+.»
24 Ababwira kandi ati: «Mwumvirize neza ivyo ndiko ndababwira+. Ingero mupimisha ni yo namwe bazobapimirako, mbere bazobongera n’ibindi. 25 Kuko uwufise azokwongerwa n’ibindi+, mugabo uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+.»
26 Abandanya kuvuga ati: «Ubwami bw’Imana bumeze nk’umuntu yabivye imbuto mw’ivu. 27 Arasinzira mw’ijoro, ku murango akikangura, imbuto na zo zikamera kandi zigakura, ariko ntamenye ingene bigenda. 28 Buhorobuhoro ivu riratuma izo mbuto zama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikuzura intete. 29 Intete zimaze kwera, aratora agakero akimbura, kuko iyimbura rigeze.»
30 Yongera kubabwira ati: «Ubwami bw’Imana twobusanisha n’iki, canke twobugereranya n’iki? 31 Bumeze nk’agatete ka sinapi. Umuntu akigatera mw’ivu, kaba ari akabuto gatoyi kuruta izindi mbuto zose zo kw’isi+. 32 Ariko bamaze kugatera, karakura kakavamwo igiterwa kinini kuruta ibindi vyose*, kandi kikazana amashami manini ku buryo inyoni zo mu kirere zibera mu gitutu caco.»
33 Nuko abigisha ijambo ry’Imana akoresheje ibigereranyo vyinshi+ nk’ivyo, yisunze ivyo bashobora gutahura. 34 Nta kintu yababwira adakoresheje ibigereranyo, ariko abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose mu mwiherero+.
35 Kuri uwo musi nyene hageze ku mugoroba, ababwira ati: «Tujabuke tuje ku yindi nkengera y’ikiyaga+.» 36 Bamaze kurungika rya sinzi, baca bamujana mu bwato ukwo nyene yari ari, kandi hariho n’ubundi bwato bwari kumwe na bo+. 37 Nuko haduka igihuhusi gikomeye, kandi imikuba iguma yikubita ku bwato, ku buryo buhakwa kwuzura amazi+. 38 Ariko we yari yiryamiye ku musego amaja inyuma mu bwato. Baca baramuvyura, bamubwira bati: «Mwigisha, nta co bikubwiye kubona tugira dupfe?» 39 Aca arahaguruka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: «Hora! Tekereza+!» Uwo muyaga uca uraturura, haratekana cane. 40 Hanyuma ababwira ati: «Kubera iki mutinya cane*? Mbega nta kwizera na gukeyi muragira?» 41 Ariko bagira ubwoba bwinshi, maze babwirana bati: «None uyu muntu ni bwoko ki? Mbere n’umuyaga n’ikiyaga biramwumvira+!»
5 Nuko bashika hakurya y’ikiyaga mu karere k’Abageraseni+. 2 Yezu akiva mu bwato, umugabo arimwo impwemu mbi* aza kumusanganira avuye mw’itongo ry’abapfuye*. 3 Yaba mw’itongo ry’abapfuye kandi gushika ico gihe nta muntu n’umwe yari bwashobore kumuboha ngo agume hamwe, naho yaba akoresheje umunyororo. 4 Barakunda kumubohesha amapingu n’iminyororo, ariko ivyo vyose yarabicagagura. Nta muntu n’umwe yashobora kumufata ngo amugumye. 5 Ijoro n’umurango yaguma asemerera ari mw’itongo ry’abapfuye no mu misozi, akaguma yikebaguza amabuye. 6 Abonye Yezu akiri nka hariya, aca arirukanga aramwunamira+. 7 Maze arasemerera cane ati: «Dupfa iki nawe ga Yezu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Nundahire Imana ko utambabaza+.» 8 Kuko Yezu yari yayibwiye ati: «Muvemwo wa mpwemu mbi we+!» 9 Yezu aca ayibaza ati: «Witwa nde?» Imwishura iti: «Nitwa Legiyoni*, kuko turi benshi.» 10 Iguma yinginga Yezu ngo ntiyirukane izo mpwemu muri ico gihugu+.
11 Hari ubusho bw’ingurube+ nyinshi zariko zirarisha ku musozi+. 12 Izo mpwemu rero ziramwinginga ziti: «Turungike muri zirya ngurube abe ari zo twinjiramwo.» 13 Na we arazemerera. Izo mpwemu mbi zica ziva muri uwo muntu zinjira muri izo ngurube. Ubwo busho buca bushunguruka imanga, bugwa mu kiyaga maze buratwarwa. Zari nk’ingurube 2.000. 14 Abungere bazo baca barahunga, baja kwigana iyo nkuru mu gisagara no hagati mu gihugu. Abantu baca baza kuraba ivyabaye+. 15 Baza aho Yezu ari, basanga wa mugabo yahoze arimwo legiyoni y’amadayimoni aricaye kandi yambaye, n’ubwenge bwiwe busigaye bukora neza. Baca batekerwa n’ubwoba. 16 Abari babibonye baca biganira abo bantu ivyashikiye uwo mugabo yahoze arimwo amadayimoni hamwe na za ngurube. 17 Abo bantu baca batangura kwinginga Yezu ngo ave mu karere iwabo+.
18 Yezu yuriye ubwato, wa mugabo yahoze arimwo amadayimoni aca aramwinginga ngo bajane+. 19 Ariko aramwankira, amubwira ati: «Subira iwanyu mu ncuti zawe, ubabwire ibintu vyose Yehova* yagukoreye n’ingene yakugiriye imbabazi.» 20 Uwo mugabo aca aragenda, atangura gutangaza i Dekapoli* ibintu vyose Yezu yari yamukoreye, maze abantu bose baratangara.
21 Yezu amaze kwongera kujabuka n’ubwato ku yindi nkengera, isinzi ry’abantu benshi rikoranira aho ari hafi y’ikiyaga+. 22 Hanyuma umwe mu bakuru b’isinagogi yitwa Yayiro araza, abonye Yezu, aca yikubita imbere y’ibirenge vyiwe+. 23 Aramwinginga kenshi ati: «Agakobwa kanje kararemvye cane*. Ndakwinginze uze ukarambikeko ibiganza+ kugira gakire, kabandanye kubaho.» 24 Yezu aca ajana na we, kandi isinzi rinini riramukurikira, rigenda rimuhundayeko.
25 Ico gihe ng’aho hari hariho umugore yari amaze imyaka 12+ ava amaraso+. 26 Yari amaze kwitura abaganga benshi, kandi yari yararuhijwe n’imiti bamuha. Yari yarakoresheje n’utwiwe twose ariko ntihagira ikivamwo, ahubwo akarushiriza kuremba. 27 Aho yumviye ivyerekeye Yezu, aca azanana inyuma yiwe mw’isinzi ry’abantu, akora ku mpuzu yiwe*+, 28 kuko yaguma yibwira ati: «Ninakora gusa ku mpuzu ziwe ndakira+.» 29 Ubwo nyene aca arareka kuva amaraso, arumva mu mubiri ko yakize iyo ndwara ibabaza cane.
30 Ubwo nyene Yezu aca arumva ko hari ububasha+ bumuvuyemwo, aca arahindukira muri iryo sinzi, abaza ati: «Ni nde akoze ku mpuzu zanje+?» 31 Abigishwa biwe bamwishura bati: «Wewe ubone ingene isinzi ryaguhundayeko, hanyuma ubaze ngo: “Ni nde ankozeko?”» 32 Mugabo yariko areraguza ngo arabe uwari amukozeko. 33 Kubera ko uwo mugore yari azi ibihejeje kuba, aca aragira ubwoba arajugumira. Maze araza aramupfukamira, amubwira ukuri kwose. 34 Na we amubwira ati: «Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Niwigire amahoro+, ukire indwara yawe ibabaza cane+.»
35 Akiriko aravuga, haza abantu bavuye kwa wa mukuru w’isinagogi, bamubwira bati: «Umukobwa wawe yapfuye! Wirirwa uragorera iki Mwigisha+?» 36 Mugabo Yezu yumva ivyo bariko baravuga, aca abwira uwo mukuru w’isinagogi ati: «Ntutinye*, we niwizere gusa+.» 37 Ntiyareka ngo hagire uwundi muntu amukurikira, kiretse Petero, Yakobo na Yohani mwenewabo na Yakobo+.
38 Bashitse muhira kwa wa mukuru w’isinagogi, ahasanga urwamo rwinshi n’abariko bararira bongera baboroga cane+. 39 Amaze kwinjira, ababwira ati: «Kubera iki muriko murarira mwongera muvuza urwamo? Uyu mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye+.» 40 Baca batangura kumutwengera mw’ijigo. Ariko amaze kubasohora bose, ahitana se w’uwo mwana na nyina wiwe n’abari kumwe na we, yinjira aho uwo mwana ari. 41 Aca afata ukuboko kw’uwo mwana, amubwira ati: «Talita kumi», bikaba bisobanura ngo: «Mwigeme, haguruka+!» 42 Ubwo nyene ako kigeme karahaguruka, gatangura kugendagenda (kari gafise imyaka 12). Abari ng’aho baca barumirwa, bararengerwa n’umunezero. 43 Mugabo Yezu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. Ababwira kandi ngo bahe uwo mwana ico afungura.
6 Hanyuma avayo aza mu karere iwabo+, kandi abigishwa biwe baramukurikira. 2 Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi. Benshi mu bariko baramwumviriza baratangara cane, bavuga bati: «Uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kubera iki yahawe ubu bwenge* n’ububasha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo+? 3 None uyu si wa mubaji+, umuhungu wa Mariya+ akaba na mwenewabo na Yakobo+, Yozefu, Yuda na Simoni+? Bashikiwe ntibari kumwe natwe ng’aha?» Ivyiwe rero bitangura kubatsitaza. 4 Ariko Yezu ababwira ati: «Umuhanuzi araterwa iteka hose kiretse mu karere iwabo, mu ncuti ziwe no mu rugo iwabo+.» 5 Ni co gituma ata bitangaro vyinshi yakoreyeyo, uretse kurambika ibiganza ku barwayi bakeyi, akabakiza. 6 Emwe, yaratangajwe n’ukuntu ata kwizera bari bafise. Nuko azunguruka mu bigwati vyo mu micungararo, agenda arigisha abantu+.
7 Ahamagara bamwe cumi na babiri, abatuma ari babiribabiri+, kandi abaha ububasha ku mpwemu mbi*+. 8 Vyongeye, abategeka ngo ntihagire ikintu na kimwe bitwaza, yaba umukate, umufuko w’ibifungurwa canke amahera*+, kiretse inkoni gusa. 9 Ababwira kandi kwambara ibirato*, mugabo ababuza gutwara impuzu yo kwihindura*. 10 Yongerako ati: «Nihagira uwubakira mu nzu iwe, mugumeyo gushika muhavuye+. 11 Ahantu hose banse kubakira canke kubumviriza, muvuyeyo muzoce mukunkumura umukungugu uri ku birenge vyanyu, kugira bibabere icabona+.» 12 Baca baragenda kwamamaza, bagenda barabwira abantu ngo bigaye+. 13 Vyongeye, barirukana amadayimoni+ menshi, bagasiga amavuta abantu benshi barwaye bakabakiza.
14 Nuko umwami Herodi yumva ivyo vyose, kuko izina rya Yezu ryari ryamenyekanye cane. Bamwe bariko bavuga ngo: «Ni Yohani Umubatizi yazuwe mu bapfuye. Ni co gituma afise ububasha bwo gukora ibitangaro+.» 15 Abandi bakavuga ngo: «Ni Eliya.» Abandi na bo ngo: «Ni umuhanuzi nk’abandi ba kera+.» 16 Ariko Herodi avyumvise, avuga ati: «Uwo ni Yohani umwe naca umutwe yazuwe.» 17 Herodi yari yarafashe Yohani aramuboha, maze amuta mw’ibohero kubera Herodiya umugore wa mwenewabo Filipo, kuko Herodi yari yamugize umugore wiwe+. 18 Yohani yaguma abwira Herodi ati: «Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwenewanyu+.» 19 Herodiya rero yari afitiye inzigo Yohani, akaguma arondera kumwica ariko bikamunanira. 20 Herodi yaratinya Yohani, kuko yari azi ko ari umugororotsi n’umweranda+, mbere yaramukingira. Igihe cose ahejeje kumwumviriza yarazazanirwa, akabura ico ari bukore. Mugabo yarahimbarwa no kuguma amwumviriza.
21 Ariko akaryo keza karabonetse ku musi mukuru wo kwibuka ivuka+ rya Herodi, igihe yariko arazimana abategetsi bakurubakuru, abakuru mu gisirikare* n’abantu bakomakomeye b’i Galilaya+. 22 Umukobwa wa Herodiya yarinjiye, aratamba, ashimisha Herodi n’abariko barasangira na we*. Umwami aca amubwira ati: «Nsaba ico ushaka cose ndakiguha.» 23 Emwe, aramurahira ati: «Ico unsaba cose ndakiguha, naho coba ari igice c’ubwami bwanje.» 24 Uwo mukobwa aca arasohoka, abaza nyina ati: «Nsabe iki?» Na we ati: «Umutwe wa Yohani Umubatizi.» 25 Aca agenda aranyaruka aho umwami ari, amubwira ati: «Ubu nyene nshaka ko umpa kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi+.» 26 Naho umwami vyamubabaje cane, ntiyashatse kwanka ivyo uwo mukobwa amusavye, kubera indahiro yarahiye no kubera abariko barasangira na we*. 27 Ubwo nyene umwami aca arungika uwumucungira ubuzima, amutegeka kuzana umutwe wa Yohani. Na we aca aragenda, amucira umutwe mw’ibohero, 28 hanyuma awuzana kw’isiniya. Awuha uwo mukobwa, uwo mukobwa na we awuha nyina wiwe. 29 Abigishwa ba Yohani bavyumvise, baca baraza batora ikiziga ciwe baragihamba*.
30 Nuko intumwa zikoranira aho Yezu ari, zimwiganira ibintu vyose zari zakoze n’ivyo zari zigishije+. 31 Na we ababwira ati: «Nimuze mwenyene, tuje ahantu hiherereye kugira muruhuke gatoya+.» Nkako, hari uruja n’uruza rw’abantu benshi, ku buryo babura n’akanya ko gufungura. 32 Baca burira ubwato baja ahantu hiherereye ari bonyene+. 33 Mugabo abantu barababona bagiye kandi n’abandi benshi barabimenya. Baca bava mu bisagara vyose biruka n’amaguru, babatangayo. 34 Yururutse ubwato, abona isinzi rinini ry’abantu. Bamutera ikigongwe+ kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere+, aca atangura kubigisha ibintu vyinshi+.
35 Kubera amasaha yari agiye, abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: «Ehe turi mu gahinga kandi amasaha aragiye+. 36 Rungika abo bantu baje mu mihana no mu bigwati vyo mu micungararo kwigurira ivyo kurya+.» 37 Yezu abishura ati: «Mwebwe nimubahe ivyo barya.» Bamwishura bati: «Ushaka tugende kugura imikate y’idenariyo* 200, tuyihe abantu barye+?» 38 Ababaza ati: «Mufise imikate ingahe? Genda murabe!» Bamaze kubimenya, bamubwira bati: «Itanu hamwe n’ifi zibiri+.» 39 Aca abwira abantu ngo bicare hasi ku vyatsi+ mu migwimigwi. 40 Nuko bicara mu migwi y’abantu 100 n’iy’abantu 50. 41 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru maze arabihezagira+. Aca amanyagura iyo mikate, atangura kuyihereza abigishwa, na bo bayiha abo bantu. Abagaburira n’izo fi zibiri bose. 42 Bose bararya barahaga, 43 hanyuma begeranya ibiseke 12 vyuzuye utumanyu twasigaye, hatarimwo ifi+. 44 Abariye iyo mikate bari abagabo 5.000.
45 Ubwo nyene aca abwira abigishwa biwe ngo burire ubwato bajabuke ku yindi nkengera amaja i Betsayida, na we asigara ararungika iryo sinzi+. 46 Ahejeje kubasezera, aca aja ku musozi gusenga+. 47 Bumaze kugoroba, ubwato bwari bugeze hagati mu kiyaga, ariko we yari wenyene ku musozi+. 48 Hanyuma abona biriko birabagora gusoza ubwato, kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Buri mu guca*, Yezu aza atumbereye aho bari, agendera ku mazi, ariko yagira abarengane*. 49 Abigishwa bamubonye ariko agendera ku mazi, bibaza ngo ni igihume, baca bakoma induru. 50 Bose baramubonye maze bahagarika umutima. Ariko ubwo nyene aca arabavugisha, ababwira ati: «Humura ni jewe! Ntimugire ubwoba+.» 51 Aca arurira abasanga mu bwato, wa muyaga uca uraturura. Na bo barumirwa cane, 52 kuko batari bwatahure insobanuro ya ca gitangaro c’imikate. Vyari bikibagora gutegera.
53 Bamaze kujabuka ikiyaga, bashika i Genesareti maze bakorora inanga z’ubwato* hafi yaho+. 54 Ariko bakiva mu bwato, abantu baca baramumenya. 55 Baca bariruka muri ako karere kose, maze bazana abantu barwaye ku nderuzo aho bumvise ko yari ari. 56 Ahantu hose yaba yinjiye mu bigwati, mu bisagara canke mu mihana, abantu baca bazana abarwayi mw’isoko, bakamutakambira ngo bakore gusa ku buyonga bw’impuzu yiwe*+, kandi ababukozeko bose baca bakira.
7 Abafarizayo n’abanditsi bamwebamwe bari bavuye i Yeruzalemu, bakoranira aho Yezu ari+. 2 Babona bamwe mu bigishwa biwe barisha intoke zihumanye, ni ukuvuga intoki zidakaravye*. 3 (Abafarizayo n’Abayuda bose ntibarya batabanje gukaraba iminwe gushika mu nkokora, kugira bumire ku migenzo y’aba kera. 4 Iyo bavuye mw’isoko, ntibashobora kurya batabanje gukaraba. Hari n’iyindi migenzo myinshi bahawe kandi bakayumirako, nko kwinika* mu mazi ibikombe, amajage* canke ibikoresho vy’umujumpu+.) 5 Abo Bafarizayo n’abanditsi rero bamubaza bati: «Kubera iki abigishwa bawe badakurikiza imigenzo y’aba kera, mugabo bakarisha intoke zihumanye+?» 6 Abishura ati: «Mwa biyorobetsi mwe! Umuhanuzi Yesaya ntiyihenze igihe yavuga ibiberekeye ati: “Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose+. 7 Bansengera ubusa, kuko inyigisho zabo zishingiye ku mabwirizwa y’abantu+.” 8 Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukumira ku migenzo y’abantu+.»
9 Yongera kubabwira ati: «Mwigiza inyuma ibwirizwa ry’Imana ku rwenge kugira mwumire ku migenzo yanyu+. 10 Nk’akarorero, Musa yavuze ati: “Tera iteka so wawe na nyoko wawe+.” Yavuze kandi ati: “Uwututse se canke nyina ategerezwa gupfa+.” 11 Mugabo mwebwe muvuga ngo: “Umuntu arashobora kubwira se canke nyina ati: ‘Ibintu vyose nari mfise nogufashisha ni korubani (ni ukuvuga ishikanwa ryeguriwe Imana).’” 12 Ntimuba mukimuretse ngo agire ikintu na kimwe afasha se canke nyina+. 13 Ukwo ni ko mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu mwagiye murahererekana+, kandi hari n’ibindi vyinshi nk’ivyo mukora+.» 14 Yongera guhamagara isinzi ry’abantu ngo rize aho ari, ababwira ati: «Nimunyumvirize mwese kandi mutahure neza ico ndababwiye+. 15 Nta kintu na kimwe cinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, ahubwo ibimuvamwo ni vyo bimuhumanya+.» 16* ——
17 Amaze kwinjira mu nzu kure y’isinzi ry’abantu, abigishwa biwe batangura kumubaza ibijanye n’ico kigereranyo+. 18 Ababwira ati: «Mbega na mwebwe nta bwenge mugira? Ntimuzi ko ata kintu na kimwe co hanze cinjiye mu muntu gishobora kumuhumanya? 19 Erega nticinjira mu mutima, ahubwo gica mu mushishito hanyuma kikabandanya kwa surwumwe.» Aho yari yerekanye ko ibifungurwa vyose bidahumanye. 20 Yongera kubabwira ati: «Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya+. 21 Kuko imbere mu mutima w’umuntu+ ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubusambanyi*, kwiba, kwica, 22 kurenga ibigo, umwina, ubukozi bw’ikibi, ububeshi, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, inzigo, gutuka Imana*, ubwibone n’inyifato y’ubupfu*. 23 Ivyo bintu bibi vyose biva imbere mu muntu kandi ni vyo bimuhumanya.»
24 Aca ava ng’aho aja mu karere ka Tiro na Sidoni+. Hanyuma ashitseyo, yinjira mu nzu. Ntiyashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya, ariko ntivyashobotse ko batamubona. 25 Ubwo nyene, umugore yari afise agakobwa karimwo impwemu mbi*, yumvise ibimwerekeye, aca araza apfukama* imbere y’ibirenge vyiwe+. 26 Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Sirofenisiya, kandi yaguma asaba Yezu ngo akure iyo dayimoni mu mukobwa wiwe. 27 Mugabo Yezu amubwira ati: «Banza ureke abana bahage, kuko atari vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera utubunda tw’imbwa+.» 28 Na we amwishura ati: «Ego mushinganta, ariko utubunda aho turi munsi y’imeza, twirira utuvunji dukorotse tuvuye ku mikate y’abana batoyi.» 29 Aca amubwira ati: «Ko uvuze ivyo, niwitahire. Idayimoni yamaze kuva mu mukobwa wawe+.» 30 Aca arataha, asanga ka gakobwa kiwe karyamye ku gitanda, ya dayimoni yakavuyemwo+.
31 Nuko Yezu ava mu karere ka Tiro aciye i Sidoni, hanyuma agaruka ku kiyaga ca Galilaya aciye mu karere ka Dekapoli*+. 32 Ari ng’aho, bamuzanira umugabo atumva kandi atavuga neza+, baramwinginga ngo amurambikeko ibiganza. 33 Aca amujana ahantu hiherereye, hirya y’isinzi ry’abantu. Araheza akoza intoke ziwe mu matwi y’uwo mugabo, azicirako amate, aca amukora ku rurimi+. 34 Hanyuma arangamiza mw’ijuru, ariruhutsa cane maze avuga ati: «Efata», ni ukuvuga ngo «Zibuka.» 35 Amatwi yiwe aca arazibuka+ n’ingorane yari afise yo kutavuga ica irahera, aca atangura kuvuga neza. 36 Yezu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+. Ariko uko yabihanikiriza, ni ko barushiriza kubitangaza+. 37 Emwe abantu barumirwa bimwe bidasanzwe+, bavuga bati: «Akora ibintu vyose neza. Mbere n’abatumva barasubira kwumva, abatavuga na bo bakavuga+.»
8 Muri iyo misi, isinzi rinini ryongera gukoranira iruhande yiwe, kandi nta kintu bari bafise bafungura. Yezu aca ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: 2 «Aba bantu baranteye ikigongwe+, kuko tumaranye imisi itatu kandi ntibagira ico bafungura+. 3 Hamwe nobarungika iwabo bashonje*, bohava bagwa mu nzira, kandi bamwe muri bo bava kure.» 4 Mugabo abigishwa biwe bamwishura bati: «Mbega muri aka gahinga, umuntu yokura hehe imikate yohaza aba bantu bose?» 5 Aca ababaza ati: «Mufise imikate ingahe?» Na bo bati: «Indwi+.» 6 Aca abwira abo bantu ngo bicare hasi. Araheza afata ya mikate indwi maze ashimira Imana. Hanyuma arayimanyagura, ayiha abigishwa biwe, na bo bayiha abo bantu+. 7 Bari bafise n’udufi dukeyi. Aca araduhezagira, ababwira ngo na two nyene batugaburire abo bantu. 8 Nuko bararya barahaga, hanyuma begeranya utumanyu twasigaye, twuzura ibiseke* indwi bininibinini+. 9 Bari nk’abagabo 4.000. Araheza arabarungika.
10 Ubwo nyene aca yurira ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, aja mu karere ka Dalumanuta+. 11 Abafarizayo baca bamusangayo, batangura kumuhaririza bamusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru kugira bamugeze+. 12 Yezu ariruhutsa cane, hanyuma avuga ati: «Kubera iki uru runganwe* rurondera ikimenyetso+? Ni ukuri ndabibabwiye, nta kimenyetso uru runganwe ruzohabwa+.» 13 Aca abasiga ng’aho, yongera kwurira ubwato aja ku yindi nkengera.
14 Ico gihe abigishwa bari bibagiye kwitwaza imikate, kandi nta kintu na kimwe bari bafise mu bwato atari umukate umwe+. 15 Yezu atangura kubaburira adakikiriza ati: «Mugume muri maso, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi+.» 16 Baca batangura guharira ku vy’uko ata mikate bafise. 17 Yezu arabimenya, aca ababwira ati: «Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise? Mbega n’ubu ntimurategera canke ngo mutahure? Biracabagora gutegera mu mitima yanyu? 18 “Mbega ntimubona kandi mufise amaso? Ntimwumva kandi mufise amatwi?” Ntimwibuka 19 ivyabaye igihe namanyagura imikate itanu+ nkayigaburira abagabo 5.000? Mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu twasigaye?» Bamwishura bati: «Cumi na bibiri+.» 20 «Igihe na ho namanyagura ya mikate indwi nkayigaburira abagabo 4.000, mwegeranije ibiseke bininibinini bingahe vyuzuye utumanyu twasigaye?» Bamwishura bati: «Indwi+.» 21 Aca ababaza ati: «None n’ubu ntimuratahura?»
22 Baraheza bashika i Betsayida. Abantu rero bamuzanira umugabo w’impumyi, baramwinginga ngo amukoreko+. 23 Aca afata ukuboko uwo mugabo, amujana inyuma y’ikigwati. Amaze gushira* amate ku maso yiwe+, aca amurambikako ibiganza, amubaza ati: «Hari ico ubona?» 24 Uwo mugabo aca araramura amaso, amubwira ati: «Ndabona abantu, mugabo womenga ni ibiti biriko biragendagenda.» 25 Yezu yongera gushira ibiganza vyiwe ku maso y’uwo mugabo, amaso yiwe aca arabona neza. Nuko arakira, asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya. 26 Aca amurungika muhira, amubwira ati: «Ntiwinjire mu kigwati.»
27 Yezu n’abigishwa biwe baca bava ng’aho, baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo. Bari mu nzira, atangura kubaza abigishwa biwe ati: «Abantu bavuga ko ndi nde+?» 28 Bamwishura bati: «Bamwe bavuga ngo uri “Yohani Umubatizi+”, abandi ngo uri “Eliya+”, abandi na bo ngo uri “umwe mu bahanuzi.”» 29 Ababaza ati: «Mweho muvuga ko ndi nde?» Petero amwishura ati: «Uri Kristu+.» 30 Aca arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ibimwerekeye+. 31 Vyongeye, atangura kubigisha ko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwankwa n’abashingantahe, abakuru b’abaherezi n’abanditsi, hanyuma akicwa+ maze akazuka haciye imisi itatu+. 32 Ivyo yabibabwira atarya umunwa. Mugabo Petero aca aramwihereranya, atangura kumukarira+. 33 Yezu aca arahindukira, araba abigishwa biwe hanyuma akarira Petero ati: «Ja inyuma yanje Shetani! Kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ahubwo wiyumvira ivy’abantu+.»
34 Hanyuma Yezu ahamagara isinzi ry’abantu n’abigishwa biwe, ababwira ati: «Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke, yikorere igiti ciwe co kubabarizwako* hanyuma agume ankurikira+. 35 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura, ariko uwubuheba kubera jewe no kubera inkuru nziza azoburokora+. 36 Mu vy’ukuri, bimaze iki kwunguka isi yose ariko ukahasiga ubuzima+? 37 Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki kugira arokore ubuzima bwiwe+? 38 Uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri uru runganwe* rw’abantu b’ibihemu* kandi b’abacumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni na we+ niyaza mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.»
9 Yongera kubabwira ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko bamwe mu bari ng’aha batazogenda bapfuye* batabanje kubona Ubwami bw’Imana bwamaze kuza bufise ububasha+.» 2 Haciye imisi itandatu, Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene. Aca arahinduka ari imbere yabo+, 3 impuzu ziwe* zitangura gukayangana, zirera cane ku buryo ata muntu n’umwe amesura kw’isi yoshobora kuzeza ukuraho. 4 Vyongeye, baza babona Eliya na Musa bariko bavugana na Yezu. 5 Petero aca abwira Yezu ati: «Rabi, ni vyiza cane kuba turi ng’aha. Reka rero twubake amahema atatu: rimwe ryawe, irindi rya Musa n’irindi rya Eliya.» 6 Mu vy’ukuri, ntiyari azi ico ari bukore kuko bari batekewe n’ubwoba. 7 Haca haza igicu kirabatwikira, maze ijwi+ rivuye muri nya gicu rivuga riti: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane+. Nimumwumvirize+.» 8 Ubwo nyene baca bareraguza, ariko ntihagira uwundi muntu n’umwe babona kiretse Yezu.
9 Bariko baramanuka uwo musozi, arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye+, gushika Umwana w’umuntu amaze kuzuka mu bapfuye+. 10 Ayo majambo baca bayashira ku mutima*, mugabo baguma babazanya ico ukwo kuzuka mu bapfuye gusobanura. 11 Baca bamubaza bati: «Kubera iki abanditsi bavuga ko Eliya+ ategerezwa kubanza kuza+?» 12 Abishura ati: «Eliya koko ategerezwa kubanza kuza, agasubiza ibintu vyose mu buryo+. Kubera iki none Ivyanditswe bivuga ko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi+ akongera agasuzugurwa+? 13 Ariko ndababwiye ko Eliya+ vy’ukuri yamaze kuza, kandi bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye+.»
14 Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona isinzi ry’abantu ribakikuje hamwe n’abanditsi bariko barabahaririza+. 15 Abo bantu bakimubona, baratangara cane, baca biruka kumusanganira. 16 Na we ababaza ati: «Ni ibiki muriko muraharira na bo?» 17 Umwe muri iryo sinzi amwishura ati: «Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje kuko arimwo impwemu ituma aba umuragi+. 18 Igihe cose imufashe iramukubita hasi, akabimba ifuro mu kanwa, agahekenya amenyo kandi agatakaza inguvu zose. Nasavye abigishwa bawe ngo bayirukane, ariko vyabananiye.» 19 Yezu aca ababwira ati: «Mbega urunganwe* rw’abantu batagira ukwizera+! Nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nimumunzanire+.» 20 Baca baramumuzanira. Ariko iyo mpwemu ibonye Yezu, ica irajegeza uwo muhungu. Imaze kumukubita hasi, aguma akumbagara kandi abimba ifuro mu kanwa. 21 Yezu abaza se wiwe ati: «Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?» Amwishura ati: «Kuva akiri umwana. 22 Kandi kenshi iramuta mu muriro no mu mazi ishaka kumwica. Ariko nimba hari ico ushoboye gukora, tugirire ikigongwe udufashe.» 23 Yezu amwishura ati: «Kubera iki uvuze ngo: “Nimba hari ico nshoboye”? Erega vyose birashoboka ku wizera+.» 24 Ubwo nyene se w’uwo mwana aca arasemerera ati: «Ndizeye! Mfasha aho nkeneye ukwizera+!»
25 Yezu abonye ko isinzi ry’abantu ririko riraza ryihuta aho bari, aca arakankamira iyo mpwemu mbi* ati: «Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntuze usubire kumwinjiramwo+!» 26 Iyo mpwemu imaze gukoma induru no kumujegeza, ica iramuvamwo. Uwo mwana aca aba nk’uwapfuye, ku buryo abantu benshi bavuga bati: «Yapfuye!» 27 Mugabo Yezu amufata ukuboko aramuvyura, na we aca arahaguruka. 28 Yezu amaze kwinjira mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye bati: «Kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana+?» 29 Abishura ati: «Burya bwoko nta kintu gishobora kubwirukana atari isengesho.»
30 Hanyuma bava ng’aho, baca i Galilaya, ariko ntiyashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya, 31 kuko yariko yigisha abigishwa biwe, ababwira ati: «Umwana w’umuntu azotangwa mu maboko y’abantu. Bazomwica+, ariko azozuka haciye imisi itatu+.» 32 Mugabo ntibatahuye ivyo ababwiye, kandi baratinya kumubaza ibibazo.
33 Bashika rero i Kaperinawumu. Amaze kwinjira mu nzu, ababaza ati: «Mwariko muharira ibiki mu nzira+?» 34 Baguma banumye, kuko mu nzira bari bamye baharira ibijanye n’uwuri mukuru muri bo. 35 Aca aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, ababwira ati: «Nimba umuntu ashaka kuba uwa mbere, ategerezwa kuba uwa nyuma ya bose kandi agakorera bose+.» 36 Hanyuma afata umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, amukikuza amaboko, araheza ababwira ati: 37 «Uwo wese yakiriye umwana mutoyi+ nk’uyu kubera izina ryanje, na jewe aba anyakiriye. Kandi uwo wese anyakiriye, ntaba yakiriye jewe gusa, aba yakiriye n’uwantumye+.»
38 Yohani aca amubwira ati: «Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni mw’izina ryawe, duca tugerageza kumubuza kubera atariko aradukurikira+.» 39 Ariko Yezu amwishura ati: «Ntimugerageze kumubuza, kuko ata muntu n’umwe yokora ibikorwa vy’ububasha mw’izina ryanje ngo ace yihutira kumvuga nabi. 40 Uwutaturwanya aba adushigikiye+. 41 Kandi uwo wese abaha igikombe c’amazi yo kunywa kubera muri abigishwa ba Kristu+, ni ukuri ndabibabwiye, ntazogenda ataronse impembo yiwe+. 42 Ariko uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi banyizera, yopfuma yambikwa mw’izosi urusyo ruzungurutswa n’indogobwa, maze agatererwa mu kiyaga+.
43 Ikiganza cawe nicaramuka kigutsitaje, gice. Wopfuma uronka ubuzima ufise ikiganza kimwe, hako uja muri Gehena*, mu muriro utazima, ufise ibiganza bibiri+. 44* —— 45 Kandi nimba ikirenge cawe kigutsitaza, gice. Wopfuma uronka ubuzima uri ikimuga, hako utererwa muri Gehena ufise ibirenge bibiri+. 46* —— 47 Kandi nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rite kure yawe+. Wopfuma winjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena ufise amaso abiri+, 48 aho inyo zitigera zipfa n’umuriro ntiwigere uzima+.
49 Umuntu wese* abwirizwa gusukwako umunyu, ari wo muriro+. 50 Umunyu ni mwiza, ariko hamwe wotakaza akanovera* kawo, wowurungisha iki+? Nimwamane umunyu muri mwebwe+ kandi mubane amahoro+.»
10 Yezu ava ng’aho aja ku rubibe* rwa Yudaya, hakurya ya Yorodani. Amasinzi y’abantu yongera gukoranira aho ari, aca asubira kubigisha nk’uko yari amenyereye kubigira+. 2 Abafarizayo rero baramwegera bashaka kumutega, bamubaza ko vyoba vyemewe ko umugabo yahukana n’umugore wiwe+. 3 Aca ababaza ati: «Musa yabategetse iki?» 4 Baca bamubwira bati: «Musa yategetse ko umuntu amwandikira urupapuro* rwo kwahukana, maze akamwirukana+.» 5 Yezu abishura ati: «Musa yabahaye iryo tegeko kubera mufise imitima ikomantaye+. 6 Ariko kuva mu ntango y’irema “yabaremye ari umugabo n’umugore+. 7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina+, 8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.” Ntibaba bakiri babiri rero, ahubwo baba ari umubiri umwe. 9 Ico Imana yafatanije* rero ntihaze hagire umuntu agitandukanya+.» 10 Basubiye mu nzu, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11 Na we ababwira ati: «Uwo wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ kandi aba amuhemukiye. 12 N’umugore ataye umugabo wiwe akarongorwa n’uwundi mugabo, aba arenze ibigo+.»
13 Abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko, ariko abigishwa biwe barabakankamira+. 14 Yezu abibonye biramushavuza, aca ababwira ati: «Nimureke abo bana baze aho ndi. Ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15 Ni ukuri ndabibabwiye, uwo wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.» 16 Aca aterura abo bana mu maboko yiwe, atangura kubahezagira abarambitseko ibiganza+.
17 Yezu asohotse ngo agende, umugabo umwe aca aza ariruka, apfukama imbere yiwe, amubaza ati: «Mwigisha mwiza, nokora iki kugira nze ndonke ubuzima budahera+?» 18 Yezu amwishura ati: «Kubera iki unyita mwiza? Nta n’umwe ari mwiza atari Imana+. 19 Urazi amabwirizwa: “Ntiwice+, nturenge ibigo+, ntiwibe+, ntiwagirize ibinyoma mugenzawe+, ntuzurume mugenzawe+, tera iteka so wawe na nyoko wawe+.”» 20 Uyo mugabo aca amubwira ati: «Mwigisha, ivyo vyose narabikurikije kuva nkiri muto.» 21 Yezu aramwitegereza, yumva aramukunze. Aca amubwira ati: «Ubuze ikintu kimwe: genda ugurishe ibintu ufise maze ufashe abakene, uzoheza ugire itunga mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire+.» 22 Ariko uwo mugabo aca arijirwa yumvise ivyo amwishuye. Aca agenda ababaye cane, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.
23 Yezu aca areraguza, maze abwira abigishwa biwe ati: «Ese ingene bizogora abafise amahera kwinjira mu Bwami bw’Imana+!» 24 Mugabo abigishwa biwe batangazwa cane n’amajambo yiwe. Yezu aca ababwira ati: «Bane banje, biragoye kwinjira mu Bwami bw’Imana! 25 Biroroshe ko ingamiya ica mu zuru ry’urushinge kuruta ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana+.» 26 Noneho barushiriza gutangara, maze bamubwira* bati: «Ni nde none ashobora kurokoka+?» 27 Yezu arabihweza, aca ababwira ati: «Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana si ko biri. Ku Mana vyose birashoboka+.» 28 Petero aca amubwira ati: «Raba twebwe twarahevye vyose turagukurikira+.» 29 Yezu amwishura ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, nta muntu n’umwe yahevye inzu, benewabo, bashikiwe, nyina wiwe, se wiwe, abana canke amatongo ku bwanje no kubera inkuru nziza+, 30 atazoronka muri iki gihe ibiruta ivyo incuro 100: amazu, benewabo, bashikiwe, ba nyina, abana, amatongo, biri kumwe n’uruhamo+. Muri kazoza* na ho azoronka ubuzima budahera. 31 Ariko benshi mu ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.»
32 Yezu n’abigishwa biwe bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, kandi Yezu yariko agendera imbere yabo. Abigishwa biwe baratangara cane, mugabo abariko barabakurikira batangura gutinya. Aca asubira gutora bamwe cumi na babiri arabihereranya, atangura kubabwira ibintu vyari bigiye kumushikira+ ati: 33 «Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azotabwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi. Bazomucira urwo gupfa, bamushire mu maboko y’abanyamahanga, 34 bazomutyekeza, bamucireko amate, bamushishagure maze bamwice. Ariko haciye imisi itatu azozuka+.»
35 Yakobo na Yohani, ari bo bahungu ba Zebedayo+, baca baramwegera, bamubwira bati: «Mwigisha, dushaka ko udukorera ikintu tugira tugusabe+.» 36 Yezu ababaza ati: «Mushaka ko ndabakorera iki?» 37 Bamwishura bati: «Twemerere kuzokwicarana nawe mu buninahazwa bwawe+, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe.» 38 Mugabo Yezu ababwira ati: «Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe ndiko ndanyweramwo, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?» 39 Bamwishura bati: «Twobishobora.» Na we ababwira ati: «Igikombe ndiko ndanyweramwo muzokinywako, kandi n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40 Mugabo ivyo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange. Ni ivy’ababiteguriwe.»
41 Abandi cumi basigaye bavyumvise, baca bashavurira Yakobo na Yohani+. 42 Ariko Yezu arabahamagara, ababwira ati: «Murazi ko ababoneka* ko batwara amahanga bayatwaza umukazo, be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43 Si ko bikwiye kumera muri mwebwe. Ahubwo uwushaka kuba umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44 kandi uwushaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose. 45 Kuko n’Umwana w’umuntu ataje kugira akorerwe, ahubwo yaje kugira akorere abandi+ no gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi+.»
46 Hanyuma bashika i Yeriko. Mugabo igihe Yezu n’abigishwa biwe bariko bava i Yeriko bari kumwe n’isinzi ry’abantu benshi, hari umugabo w’impumyi asegerereza yitwa Barutimayo (mwene Timayo) yari yicaye iruhande y’inzira+. 47 Yumvise ko ari Yezu Umunyanazareti ariko ararengana, atangura gusemerera ati: «Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!» 48 Benshi batangura kumukarira bamubwira ngo ahore. Ariko arushirizaho gusemerera ati: «Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!» 49 Yezu aca arahagarara, avuga ati: «Muhamagare.» Baca barahamagara uwo mugabo w’impumyi, bamubwira bati: «Humura! Haguruka araguhamagaye.» 50 Aca ata impuzu yiwe yo hejuru, arahaguruka ningoga, aja aho Yezu ari. 51 Yezu amubwira ati: «Ushaka ndakugirire iki?» Uwo mugabo w’impumyi amwishura ati: «Rabuni*, nimpumuke.» 52 Yezu aca amubwira ati: «Niwigire, ukwizera kwawe kuragukijije+.» Ubwo nyene aca arahumuka+, atangura kumukurikira.
11 Igihe bari begereje i Yeruzalemu, bashitse i Betifage n’i Betaniya+ ku musozi w’Imyelayo, Yezu atuma babiri mu bigishwa biwe+, 2 ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Mukicinjiramwo murahasanga inyana y’indogobwa iziritse, ata muntu n’umwe arayicarako. Muce muyizitura maze muyizane. 3 Nihagira uwubabaza ati: “Kubera iki mugira ivyo?”, mumwishure muti: “Umukama arayikeneye, aca ayigarukana.”» 4 Baca baragenda, basanga ya nyana y’indogobwa iziritse hafi y’umuryango hanze kw’ibarabara, baca barayizitura+. 5 Ariko bamwe mu bari bahagaze ng’aho bababaza bati: «Ko muzitura iyo nyana y’indogobwa ni ibiki?» 6 Baca babishura nk’uko Yezu yari yababwiye, abo bantu baca barabareka baragenda.
7 Baraheza bazanira Yezu iyo nyana y’indogobwa+, bayisasako impuzu zabo* hanyuma ayicarako+. 8 Vyongeye, benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti mu mashamba+. 9 Abagendera imbere n’abagendera inyuma yiwe baguma basemerera bati: «Kiza turagutakambiye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova*+! 10 Harahezagiwe Ubwami bwa dawe Dawidi+ buriko buraza! Kiza turagutakambiye, wewe uri iyo hejuru!» 11 Nuko yinjira i Yeruzalemu, hanyuma aja mu rusengero, areraguza araba ibintu vyose. Ariko kubera bwari bwije, arasohoka aja i Betaniya ari kumwe na bamwe cumi na babiri+.
12 Bukeye, igihe bariko bava i Betaniya, yumva arashonje+. 13 Akiri kure, abona igiti c’umusukoni cari gifise amababi, aca aja kuraba ko hari ico yogisangako. Ariko agishikiriye, asanga kiriko amababi gusa, kuko kitari igihe co kwama. 14 Aca akibwira ati: «Uragapfa badasubiye kurya ku vyamwa vyawe+.» Kandi abigishwa biwe bariko baravyumva.
15 Nuko bashika i Yeruzalemu. Aca yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abariko baragura n’abariko baragurisha. Ahenagura imeza z’abavunjayi n’intebe z’abariko bagurisha inuma+, 16 kandi nta muntu n’umwe yemerera gucisha ikintu* mu rusengero. 17 Maze arabigisha, ababwira ati: «None ntivyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose+?” Ariko mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.» 18 Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bavyumvise, baca batangura kurondera ingene bomwica+. Nkako, baramutinya kuko abantu bose batangazwa cane n’inyigisho ziwe+.
19 Bugorovye, Yezu n’abigishwa biwe barasohoka bava mu gisagara. 20 Mu gatondo ka kare, basubiye guca iruhande ya ca giti c’umusukoni, basanga cumye gushika no mu mizi+. 21 Petero aca yibuka ivyari vyabaye, aca abwira Yezu ati: «Rabi, ehe ca giti c’umusukoni wavuma cumye+!» 22 Yezu aca ababwira ati: «Nimwizere Imana. 23 Ni ukuri ndabibabwiye, hamwe umuntu yobwira uyu musozi ati: “Randuka ugwe mu kiyaga”, kandi akabigira adakekeranya mu mutima ahubwo yizeye ko ivyo avuze biba, bizoba+. 24 Ni co gituma ndababwiye nti: ibintu vyose musaba mw’isengesho, nimwizere ko mwamaze kubironka, kandi muzobironka+. 25 Kandi igihe musenga, mubabarire abandi ikintu cose mwoba mupfa, kugira ngo So wanyu wo mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.» 26* ——
27 Bongera kugaruka i Yeruzalemu, hanyuma ariko aratembera mu rusengero, abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe baraza, 28 bamubaza bati: «Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu? Ni nde yaguhaye ububasha bwo kubikora+?» 29 Yezu abishura ati: «Reka nanje ndababaze. Nimwanyishura, nca ndababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu. 30 Ibatisimu ya Yohani+ yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure+.» 31 Baca batangura kuvugana hagati yabo bati: «Nitwavuga ngo “mw’ijuru”, aca atubaza ati: “Kubera iki none mutamwemeye?” 32 Ariko none duhirahire tuvuge ngo “ku bantu”?» Baratinya isinzi ry’abantu, kuko bose babona ko Yohani yari umuhanuzi w’ukuri+. 33 Baca bishura Yezu bati: «Nta vyo tuzi.» Yezu na we ababwira ati: «Nanje rero sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.»
12 Nuko atangura kubabwira mu bigereranyo ati: «Umuntu umwe yarateye umurima w’imizabibu+ hanyuma awukikuza uruzitiro. Yarimvye kandi ikinogo baganiramwo umuvinyu, yubaka n’umunara+. Uwo murima yaciye awusigira* abarimyi, maze afata urugendo aja mu mahanga+. 2 Igihe kigeze, atuma umushumba kuri ba barimyi ngo amutorere umwimbu w’imizabibu. 3 Mugabo baramufata, baramukubita maze bamurungika iminwe misa. 4 Asubira kubarungikira uwundi mushumba, na we nyene baramukubita mu mutwe bongera baramumaramaza+. 5 Yongera gutuma n’uwundi, uwo na we baramwica. Atuma n’abandi benshi, mugabo bamwe barabakubita, abandi na bo barabica. 6 Yari afise kandi umwana umwe akunda cane+. Araheza amurungika ubwa nyuma, avuga ati: “Bazokwubaha umwana wanje.” 7 Ariko ba barimyi baca bavugana bati: “Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu.” 8 Baca baramufata baramwica, bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu+. 9 None nyene umurima azokora iki? Azoza yice abo barimyi, uwo murima ace awuha abandi+. 10 Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe kivuga ngo: “Ibuye abubatsi bataye ryahavuye riba ibuye nyamukuru rigumya imfuruka*+? 11 Ivyo vyavuye kuri Yehova*, kandi biratangaje mu maso yacu+.”»
12 Baca bashaka kumufata, ariko batinya isinzi ry’abantu kuko bari bamenye ko ari bo yariko aravuga mu gutanga ico kigereranyo. Nuko baramureka baragenda+.
13 Hanyuma bamurungikira Abafarizayo bamwebamwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi, kugira bamufatire mu vyo avuga+. 14 Bashitse, bamubwira bati: «Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko utarondera gushimwa n’abantu, kuko udakangwa n’ingene baboneka inyuma, ahubwo wigisha inzira y’Imana mu kuri. Vyoba vyemewe* kuriha ikori* Sezari canke ntivyemewe? 15 Turihe canke ntiturihe?» Amenya ubwiyorobetsi bwabo, aca ababwira ati: «Kubera iki mungeza? Nzanira idenariyo* ndabe.» 16 Baca bamuzanira imwe. Aca ababaza ati: «Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?» Na bo bati: «Ni ivya Sezari.» 17 Yezu aca ababwira ati: «Ivya Sezari nimubihe* Sezari+, ariko ivy’Imana mubihe Imana+.» Baca baramutangarira cane.
18 Maze Abasadukayo, bamwe bavuga ko ata zuka ririho+, baza aho ari maze bamubaza bati+: 19 «Mwigisha, Musa yatwandikiye ko umugabo niyapfa agasiga umugore mugabo ntasige umwana, mwenewabo akwiye guca acura uwo mugore kugira avyarire abana mwenewabo yapfuye+. 20 Habayeho rero abahungu indwi bavukana. Uwa mbere yararongoye, ariko apfa ata kana asize. 21 Uwa kabiri yaracuye uwo mupfakazi, ariko na we nyene apfa ata kana asize. N’uwa gatatu vyagenze ukwo nyene. 22 Abo bose indwi bapfuye ata kana basize. Inyuma ya bose, nya mugore na we nyene yarapfuye. 23 None mw’izuka azoba umugore wa nde, ko yabaye umugore wabo bose uko ari indwi?» 24 Yezu abishura ati: «None si co gituma mwazimiye, kuko mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana+? 25 Erega mu gihe c’izuka, abagabo ntibazorongora canke ngo abagore barongorwe, ahubwo bazoba bameze nk’abamarayika mw’ijuru+. 26 Mugabo ku bijanye n’uko abapfuye bazurwa, mbega ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ko Imana yamubwiye iti: “Ndi Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+”? 27 Si Imana y’abapfuye, ahubwo ni iy’abazima. Mwarazimiye cane+.»
28 Hari umwanditsi umwe yari ng’aho kandi yari yumvise ingene baharira. Abonye ko Yezu abishuye neza, aca amubaza ati: «Ibwirizwa rya mbere* muri yose ni irihe+?» 29 Yezu amwishura ati: «Irya mbere ni iri: “Umviriza ewe Isirayeli: Yehova* Imana yacu ni Yehova umwe, 30 kandi utegerezwa gukunda Yehova* Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’ubwenge bwawe bwose, n’inkomezi zawe zose+.” 31 Irya kabiri ni iri: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.” Nta rindi bwirizwa risumba ayo.» 32 Wa mwanditsi amwishura ati: «Mwigisha, uvuze neza kandi birahuye n’ukuri: “Ni umwe, kandi nta wundi ariho atari we+.” 33 Kandi kumukunda n’umutima wose, n’ubwenge bwose, n’inkomezi zose be no gukunda mugenzawe nk’uko wikunda, birahambaye kuruta amashikanwa yose aturirwa uko yakabaye n’ibimazi vyose+.» 34 Yezu abonye ko yishuranye ubwenge, aca amubwira ati: «Nturi kure y’Ubwami bw’Imana.» Nta n’umwe yasubiye kwubahuka kumubaza ikibazo+.
35 Ariko Yezu abandanya kwigisha mu rusengero ati: «Kubera iki abanditsi bavuga ko Kristu ari mwene Dawidi+? 36 Biciye ku mpwemu nyeranda+, Dawidi yivugiye ati: “Yehova* yabwiye Umukama wanje ati: ‘Icara iburyo bwanje, gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+.’” 37 Dawidi ubwiwe amwita Umukama, none aba umwana wiwe gute+?»
Isinzi ry’abantu ryari ng’aho ryariko riramwumviriza rinezerewe. 38 Abandanya kwigisha ati: «Mwiyubare abanditsi bakunda kugenda bambaye amakanzu kandi bagakunda ko abantu babaramutsa mw’isoko+. 39 Bakunda kandi kwicara mu bibanza vy’imbere* mu masinagogi no mu bibanza vy’iteka ku nzimano*+. 40 Banyaga abapfakazi utwabo* kandi bakavuga amasengesho maremare kugira biyerekane. Bazocirwa urubanza rukomeye* cane.»
41 Hanyuma yicara aho abona udusandugu tw’amashikanwa+, atangura kwihweza ingene isinzi ry’abantu bakororerayo amahera. Abatunzi benshi bariko bakororerayo ibiceri vyinshi+. 42 Haza umupfakazi w’umukene, akororerayo uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi cane*+. 43 Yezu aca ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: «Ni ukuri, ndababwiye ko uyu mupfakazi w’umukene yashize mu gasandugu vyinshi kuruta ivyo abandi bose bashizeyo+. 44 Kuko abandi bose bashizeyo ibirenze ku vyo bafise, ariko we mu bukene bwiwe, yashizeyo ivyo yari afise vyose, ivyari kumubeshaho vyose+.»
13 Asohotse avuye mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: «Mwigisha, raba ukuntu aya mabuye n’izi nyubakwa ari vyiza cane+!» 2 Ariko Yezu amubwira ati: «Urabona izo nyubakwa zihambaye? Emwe, nta buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+.»
3 Yicaye ku musozi w’Imyelayo aho abona urusengero, Petero, Yakobo, Yohani na Andereya bamubaza mu mwiherero bati: 4 «Tubwire: ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana ko iherezo ry’ivyo bintu vyose ryegereje+?» 5 Yezu rero atangura kubabwira ati: «Mwiyubare ntihaze hagire uwubazimiza+. 6 Benshi bazoza bitwaje izina ryanje, bavuga ngo: “Ndi we”, kandi bazozimiza benshi. 7 Vyongeye, nimwumva intambara n’amakuru y’intambara, ntimuze mugire ubwoba. Ivyo bintu bitegerezwa kuba, ariko iherezo ntirizoba rirashika+.
8 Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami+. Hazoba vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi, kandi hazotera inzara+. Ivyo bizoba ari intango y’ibihe vy’umubabaro ukomeye*+.
9 Ariko mwebwe mwiyubare. Abantu bazobitwarira mu masentare+, babakubitire mu masinagogi+, babarengutse imbere ya ba buramatari n’abami kubera jewe, kugira bibe intahe kuri bo+. 10 Vyongeye, inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa mu mahanga yose+. 11 Nibabafata ngo babashengeze imbere ya sentare, ntimuze muhagarike umutima imbere y’igihe ku vyo muzovuga. Muze muvuge ico muhawe cose muri uwo mwanya nyene, kuko atari mwebwe muzoba muriko muravuga, ahubwo ni impwemu nyeranda+. 12 Bisubiye, umuntu azotanga mwenewabo kugira yicwe, se w’umwana na we atange umwana wiwe, kandi abana bazogarariza abavyeyi babo babicishe+. 13 Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje+. Ariko uwuzoba yihanganye* gushika kw’iherezo+ ni we azokizwa+.
14 Ariko nimwabona ca kintu gisesemye giteza agatikizo+ gihagaze aho kitari gikwiye guhagarara (umusomyi nakoreshe ugutahura), abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+. 15 Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururuke canke ngo yinjire gutora ikintu na kimwe mu nzu yiwe, 16 kandi uwuzoba ari mu murima ntaze agaruke* gutora impuzu yiwe*. 17 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 18 Mugume musenga kugira ntibizobe mu gihe c’urushana, 19 kuko iyo misi izoba ari iy’amakuba+ atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi* Imana yaremye gushika ico gihe, kandi ntazosubira kubaho+. 20 Emwe iyo Yehova* atagabanya iyo misi, nta muntu* n’umwe yorokotse. Ariko iyo misi yarayigabanije ku bw’abo yatoye+.
21 Nihagira rero uwubabwira ati: “Ehe Kristu ari ng’aha” canke ati: “Ehe ari hariya”, ntimuze muvyemere+. 22 Kuko hazokwaduka ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma+, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize abatowe. 23 Nimube maso rero+. Ndababwiye ibintu vyose imbere y’igihe.
24 Mugabo muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, izuba rizocura umwiza, ukwezi ntikuzosubira gutanga umuco+, 25 inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa. 26 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aje ari ku bicu, afise ububasha bwinshi n’ubuninahazwa+. 27 Azorungika abamarayika kugira bakoranirize hamwe abo yatoye bo mu mpande zine z’isi*, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru+.
28 Nimukure rero icigwa kuri iki kigereranyo c’igiti c’umusukoni: iyo mubonye ishami ryaco ritoyi ritanguye gutotahara rikazana amababi, muca mumenya ko ici riri hafi*+. 29 Na mwebwe nyene nimwabona ivyo bintu biriko biraba, muzoce mumenya ko ari hafi ku muryango+. 30 Ni ukuri ndabibabwiye, uru runganwe* ntiruzogenda ruvuyeho ivyo vyose bitabaye+. 31 Ijuru n’isi bizovaho+, ariko amajambo yanje ntazogenda avuyeho+.
32 Nayo ibijanye n’uwo musi canke iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data+. 33 Mugume muri maso, mugume murikanuye+, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera+. 34 Ni nk’umuntu afashe urugendo rwo mu mahanga. Imbere yo kugenda, asigira inzu yiwe abashumba biwe+, umwe wese akamuha igikorwa ciwe, hanyuma agategeka umunyezamu kuguma ari maso+. 35 Mugume muri maso rero, kuko mutazi igihe nyene urugo azozirako+. Ntimuzi ko azoza bugorovye, canke mu gicugu, canke imbere y’uko umutwenzi utangura* canke mu gatondo ka kare+. 36 Ahandiho niyaramuka ashitse giturumbuka, azosanga musinziriye+. 37 Ico ndababwiye, ndakibwiye abantu bose: mugume muri maso+.»
14 Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri+ ngo habe Pasika+ n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera ingene bomufata ku rwenge* kugira bamwice+, 2 ariko baguma bavuga bati: «Ntibibe ku musi mukuru, kuko abantu bohava bagumuka.»
3 Igihe Yezu yari i Betaniya ariko arafungura* mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, haza umugore afise agacupa* karimwo amavuta amota neza, azimvye cane, ikaba yari narada nyayo. Yugurura* ako gacupa, atangura gusuka ayo mavuta ku mutwe wa Yezu+. 4 Bamwe baca batangura kubwirana bashavuye bati: «Kubera iki asesaguye ayo mavuta amota neza? 5 Ayo mavuta yari gushobora kugurishwa idenariyo* zirenga 300, maze ayo mahera agahabwa aboro!» Baca baramushavurira cane*. 6 Mugabo Yezu ababwira ati: «Nimumureke. Uyu mugore mumugorera iki? Ankoreye igikorwa ciza+. 7 Erega aboro murabamana+, kandi igihe cose mubishatse murashobora kubakorera ivyiza. Ariko jewe ntimuzonyamana+. 8 Yakoze ivyo ashoboye. Abaye arasuka ayo mavuta amota neza ku mubiri wanje, kugira antegure ku bw’amaziko yanje+. 9 Ni ukuri ndabibabwiye, ahantu hose inkuru nziza izokwamamazwa kw’isi yose+, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa kugira bamwibuke+.»
10 Yuda Isikariyoti, umwe muri bamwe cumi na babiri, aca aja ku bakuru b’abaherezi kugira amubahe+. 11 Bavyumvise baranezerwa cane, baca basezerana kumuha amahera*+. Aca atangura kurondera akaryo ko kumutanga.
12 Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe batanga ikimazi ca Pasika+, abigishwa biwe bamubwira bati: «Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ibifungurwa vya Pasika+?» 13 Aca arungika babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati: «Genda mu gisagara, muraza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira+, 14 hanyuma aho yinjira hose mubwire nyene urugo muti: “Mwigisha avuze ati: ‘Icumba c’abashitsi kiri hehe, kugira ndaharire Pasika ndi kumwe n’abigishwa banje?’” 15 Na we arabereka icumba co hejuru cagutse, kirimwo ivya nkenerwa kandi giteguye. Abe ari ho mudutegurira ibifungurwa vya Pasika.» 16 Abigishwa baca baragenda, binjira mu gisagara, basanga ibintu vyose bimeze nk’uko yababwiye. Baraheza bategura Pasika.
17 Bumaze kugoroba, azanana na bamwe cumi na babiri+. 18 Hanyuma bicaye ku meza bariko barafungura, Yezu ababwira ati: «Ni ukuri ndabibabwiye, umwe muri mwebwe, uwo turiko turasangira, araza kungurisha*+.» 19 Baca batangura kwumva intuntu, umwe wese amubaza ati: «Ni jewe?» 20 Abishura ati: «Ni umwe muri mwebwe cumi na babiri, uwo dukoreje amaboko rimwe mw’isahani*+. 21 Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, ariko uwo muntu agira agurishe Umwana w’umuntu aragowe+! Vyomubereye vyiza iyo ataba yaravutse+.»
22 Bakiriko barafungura, atora umukate hanyuma arasenga. Aca arawumanyagura maze arawubaha, ababwira ati: «Akira, uyu mukate ugereranya umubiri wanje+.» 23 Atora n’igikombe, arakenguruka hanyuma arakibaha, bakinywako bose+. 24 Aca ababwira ati: «Iki kigereranya amaraso yanje+, “amaraso y’isezerano+” agiye guseswa ku bwa benshi+. 25 Ni ukuri ndabibabwiye, sinzosubira kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika umusi nzokinywa ari gishasha mu Bwami bw’Imana.» 26 Hanyuma bahejeje kuririmba amashemezo*, baca barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+.
27 Yezu ababwira ati: «Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: “Nzokubita umwungere+ maze intama zisabagire+.” 28 Ariko ninamara kuzurwa, muzonsanga i Galilaya+.» 29 Petero amwishura ati: «Naho abandi bose botsitara, jewe sinzotsitara+.» 30 Yezu aca amubwira ati: «Ni ukuri ndabikubwiye, uyu musi, emwe muri iri joro nyene, imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+.» 31 Ariko Petero aguma ashimika ati: «Naho vyosaba ko mpfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.» N’abandi bose batangura kuvuga uko nyene+.
32 Nuko bashika ahantu hitwa Getsemani, maze abwira intumwa ziwe ati: «Ba muricaye ng’aha umwanya ndiko ndasenga+.» 33 Aca ahitana Petero, Yakobo na Yohani+, hanyuma atangura kwumva amaganya menshi no guhagarika umutima bimwe bikomeye. 34 Maze ababwira ati: «Ndatuntuye cane+, ku buryo numva nopfa. Nimugume ng’aha, kandi mugume muri maso+.» 35 Yigira imbere maze arapfukama, atangura gusenga asaba ko iyo saha yomurengana nimba bishoboka. 36 Avuga ati: «Abba*, Data+, vyose birashoboka kuri wewe. Igiza iki gikombe kure yanje. Yamara ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo wewe ugomba+.» 37 Agarutse, asanga barasinziriye, aca abwira Petero ati: «Simoni, urasinziriye? Ntiwashoboye guterama n’isaha n’imwe+? 38 Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+. Nkako, umutima urashashaye* ariko umubiri uragoyagoya+.» 39 Aca asubira kugenda, arasenga, avuga vya bindi nyene+. 40 Yongera kugaruka, asanga barasinziriye kuko amaso yabo yari aremerewe n’itiro. Nuko babura ico bamwishura. 41 Yongera kugaruka ubugira gatatu, ababwira ati: «Mbega iki ni igihe co kwisinzirira no kwiruhukira? Geza aho! Isaha irashitse+! Umwana w’umuntu agira atabwe mu maboko y’abacumuzi. 42 Haguruke tugende. Ehe uwungurisha arashitse+.»
43 Ubwo nyene akiriko aravuga, Yuda umwe muri bamwe cumi na babiri aca arashika. Yari kumwe n’isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi, abanditsi n’abashingantahe+. 44 Uwamugurishije yari yabahaye ikimenyetso bumvikanye, mu kubabwira ati: «Uwo nja gusoma, azoba ari we. Muce mumufata, mumutware mumucunze.» 45 Aca aza atumbereye Yezu, aramwegera, amubwira ati: «Rabi!» Aca aramusoma n’ikibabarwe. 46 Baca bafata Yezu baramugumya. 47 Ariko umwe mu bari bahagaze ng’aho aca asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi+. 48 Yezu aca ababwira ati: «Mbega muje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 49 Imisi yose namye ndi kumwe namwe mu rusengero nigisha+, yamara ntimwamfashe. Ariko ibi bibaye kugira ngo Ivyanditswe biranguke+.»
50 Bose baca baramuta barahunga+. 51 Mugabo umusore umwe yari yambaye impuzu imwe gusa y’ilino yoroshe, aramukurikira agendera hafi, hanyuma bagerageza kumufata, 52 mugabo ata iyo mpuzu yiwe y’ilino maze ahunga ari gusa*.
53 Nuko batwara Yezu ku muherezi mukuru+, hanyuma abakuru b’abaherezi, abashingantahe n’abanditsi bose bakoranira hamwe+. 54 Ariko Petero yari yamukurikiye agendera kure, arashika no mu rugo rw’umuherezi mukuru. Yari yicaranye n’abasuku bo mu rugo ariko arota umuriro+. 55 Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi n’abagize Inama nkuru bose bariko bararondera ivyo bagiriza Yezu kugira bamwice, ariko nta na kimwe baronse+. 56 Nkako, benshi bariko baramwagiriza ibinyoma+, ariko ivyo bamwagiriza ntivyahura. 57 Vyongeye, hari n’abandi baza barahaguruka bamwagiriza ibinyoma, bakavuga bati: 58 «Twaramwumvise avuga ngo: “Nzosenyura uru rusengero rwubatswe n’amaboko, hanyuma mu misi itatu nce nubaka urundi rutubatswe n’amaboko+.”» 59 Ariko no kuri ivyo, ivyo bamwagiriza ntivyahura.
60 Umuherezi mukuru aca arahaguruka hagati yabo, abaza Yezu ati: «Nta na kimwe wishura? Ntiwumva ivyo bariko barakwagiriza+?» 61 Ariko Yezu aguma yihoreye, ntiyishura ikintu na kimwe+. Umuherezi mukuru yongera kumubaza ati: «Uri Kristu, Umwana w’Imana Nyeranda*?» 62 Yezu amwishura ati: «Ndi we, kandi muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo bw’Imana+ Nyenububasha*, azananye n’ibicu vyo kw’ijuru+.» 63 Umuherezi mukuru aca atabura impuzu ziwe, avuga ati: «Hari ibindi vyabona dukeneye+? 64 Muriyumviye ingene atutse Imana*. Mubivugako iki*?» Bose baca bavuga ko akwiye gupfa+. 65 Bamwe rero batangura kumucirako amate+, kumupfuka mu maso no kumukubita ingumu, bavuga bati: «Ko wumva uri umuhanuzi, tubwire uwugukubise!» Abarinzi bamaze kumukubita amakofe, baca baramutwara+.
66 Igihe Petero yari mu rugo, umwe mu basukukazi b’umuherezi mukuru araza+. 67 Abonye Petero ariko arota, aca aramuhanga amaso maze avuga ati: «Na wewe wari kumwe n’uwo Yezu Umunyanazareti.» 68 Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, kandi sinzi n’ivyo uriko uravuga.» Aca agenda amaja kw’irembo*. 69 Wa musukukazi amubonye ng’aho, yongera kubwira abari bahagaze ng’aho ati: «Uyu ari muri bo.» 70 Yongera kubihakana. Haciye akanya, abari bahagaze ng’aho bongera kubwira Petero bati: «Ni ukuri uri uwo muri bo. Nakare uri Umunyagalilaya!» 71 Mugabo atangura kurahira yisiba, avuga ati: «Uwo muntu muriko muravuga sindamuzi!» 72 Ubwo nyene isake ica irabika ubugira kabiri+. Petero aca yibuka ivyo Yezu yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika ubugira kabiri, uza kunyihakana gatatu+.» Biranka ko yigumya, aca araturikisha ararira.
15 Ubwo nyene mu mutwenzi, abakuru b’abaherezi, abashingantahe n’abanditsi, emwe abagize Inama nkuru bose, baca bagira inama. Bamaze kuboha Yezu, baca baramujana bamushikiriza Pilato+. 2 Pilato amubaza ati: «Uri Umwami w’Abayuda+?» Yezu amwishura ati: «Wewe ubwawe urabivuze+.» 3 Ariko abakuru b’abaherezi baguma bamwagiriza ibintu vyinshi. 4 Pilato rero yongera kumubaza ati: «Nta co wishura+? Ntiwumva ibintu vyose bariko barakwagiriza+?» 5 Mugabo Yezu ntiyamwishura ikintu na kimwe, ku buryo Pilato atangara cane+.
6 Igihe cose habaye umusi mukuru, Pilato yarakunda kurekura imbohe imwe abantu bamusavye+. 7 Ico gihe hari umugabo yitwa Baraba yari apfunganywe n’abagumutsi bari bakoze ubwicanyi mu migumuko yabo. 8 Haca haza abantu benshi rero, maze batangura gusaba Pilato ngo abagirire uko yari asanzwe abagirira. 9 Pilato abishura ati: «Mushaka ndabarekurire Umwami w’Abayuda+?» 10 Nkako, Pilato yari azi ko ishari ari ryo ryatumye abakuru b’abaherezi bamumuzanira+. 11 Mugabo abakuru b’abaherezi baca bagumura abo bantu ngo bamusabe abarekurire Baraba, aho kurekura Yezu+. 12 Pilato yongera kubabaza ati: «None umwe mwita Umwami w’Abayuda we ndamugire gute+?» 13 Bongera gusemerera bati: «Mumanike*+!» 14 Pilato asubira kubabaza ati: «Kubera iki? Ikibi yakoze ni ikihe?» Mugabo barushiriza gusemerera bati: «Mumanike+!» 15 Kubera yuko Pilato yashaka gushimisha abo bantu, aca abarekurira Baraba. Hanyuma amaze gukubitisha Yezu+, aca aramutanga ngo amanikwe ku giti+.
16 Abasoda baca bamujana mu rugo, ni ukuvuga ku kirimba kwa buramatari, hanyuma bakoranya umugwi wose w’abasirikare+. 17 Bamwambika impuzu y’umuyugubwe*, baca bajisha urugori rw’amahwa bararumwambika. 18 Batangura kuza baramuramutsa bati: «Ndabugize Mwami w’Abayuda+!» 19 Vyongeye, baza baramukubita irenga mu mutwe bongera bamucirako amate, bakaza baramupfukamira bongera bamwunamira. 20 Amaherezo, bahejeje kumutwenga, bamwambura ya mpuzu y’umuyugubwe, bamwambika impuzu ziwe. Baraheza bamujana kumumanika ku giti+. 21 Baca bategeka umuntu yariko ararengana avuye mu gihugu hagati, yitwa Simoni w’i Sireni, se wa Alegizandere na Rufo, ngo yikorere igiti ca Yezu co kubabarizwako*+.
22 Nuko bamuzana ahantu hitwa Gologota, bikaba bisobanura ngo «ahantu h’Agahanga+.» 23 Bageze ng’aho, bagerageza kumuha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira+, mugabo ntiyawunywa. 24 Hanyuma baramumanika, baca bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo, kugira bamenye izo umwe wese atwara+. 25 Igihe bamumanika hari nka satatu*. 26 Icapa kiriko ikirego aregwa cari canditseko ngo: «Umwami w’Abayuda+.» 27 Vyongeye, bamumanikana n’ibisuma bibiri, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu+. 28* —— 29 Abahita baza baramutuka bazunza umutwe+, bakavuga bati: «Hm! Wewe uvuga ngo wosambura urusengero ugaca urwubaka mu misi itatu+, 30 niwikize umanuke uve kuri ico giti co kubabarizwako*.» 31 Abakuru b’abaherezi n’abanditsi na bo nyene baguma bamutwenga, bavuga ngo: «Abandi yarabakijije, ariko we ntashobora kwikiza+! 32 Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze tumwemere+.» N’abari bamanikanywe na we na bo nyene batangura kumutuka+.
33 Hageze nka sasita*, umwiza utwikira igihugu cose gushika nka sacenda*+. 34 Hageze nka sacenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: «Eli, Eli, lama sabakitani?», ni ukuvuga ngo «Mana yanje, Mana yanje, kubera iki wampevye+?» 35 Bamwe mu bari bahagaze hafi yiwe bavyumvise, baca bavuga bati: «Umve! Ariko ahamagara Eliya.» 36 Umwe muri bo aca ariruka atora ipampa*, arijobeka mu muvinyu ukarishe, arishira kw’irenga maze aramuha ngo anywe+, avuga ati: «Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura.» 37 Ariko Yezu arasemerera n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 38 Irido y’ahantu heranda+ ica itabukamwo kubiri, kuva hejuru gushika hasi+. 39 Intwazangabo yari ihagaze iruhande yiwe ibonye ibintu bibaye acikanye, ica ivuga iti: «Ni ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana+.»
40 Ico gihe kandi hariho abagore bariko babirabira kure, muri bo hakaba harimwo Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo mutoyi ari na we nyina wa Yoze*, hamwe na Salome+. 41 Abo bagore bari bahoze bamuherekeza bongera bamufasha udukorwa+ igihe yari i Galilaya. Hariho n’abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yeruzalemu.
42 Kubera ko bwari bumaze kugoroba, kandi hakaba hari ku musi w’Imyiteguro, ni ukuvuga buca haba isabato, 43 haza Yozefu w’i Arimateya, umugabo yubahwa yari mu bagize Inama nkuru, na we nyene akaba yari arindiriye Ubwami bw’Imana. Ararya umutima amenyo, aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yezu+. 44 Ariko Pilato atangazwa n’uko Yezu yoba yamaze gupfa. Aca atumako ya ntwazangabo kugira ayibaze ko Yezu yari yamaze gupfa. 45 Iyo ntwazangabo imaze kuvyemeza, aca yemerera Yozefu gutora ico kiziga. 46 Yozefu amaze kugura igitambara ciza c’ilino*, aca aramumanura, amuzingira muri ico gitambara hanyuma amushira mu mva*+ yari yimbwe mu gitandara. Araheza atembagariza ikibuye ku muryango w’iyo mva+. 47 Ariko Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yoze baguma baraba aho bamushize+.
16 Inyuma y’isabato+, Mariya Magadalena, Mariya+ nyina wa Yakobo hamwe na Salome, bagura ibintu bimota kugira babisige ikiziga ca Yezu+. 2 Hanyuma ku musi wa mbere w’indwi, izuba rimaze guseruka, bazindukira ku mva*+. 3 Baguma babazanya bati: «Ni nde aza kudutembagariza rya buye riri ku muryango w’imva?» 4 Ariko baravye, babona rya buye ryatembagaye, naho ryari rinini cane+. 5 Binjiye muri iyo mva, babona umusore yicaye amaja iburyo yambaye ikanzu yera, baca barakanguka. 6 Ababwira ati: «Ntimukanguke+. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa ku giti. Yazuwe+. Nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamuryamitse+! 7 Ahubwo genda mubwire abigishwa biwe na Petero muti: “Yabaye aragenda i Galilaya+. Ni ho muzomubonera nk’uko yabibabwiye+.”» 8 Basohotse iyo mva, baca bariruka barahunga, bagenda barajugumira bataye umutwe. Nta n’umwe babwiye ikintu na kimwe, kuko bari batekewe n’ubwoba*+.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «akabibiza.»
Canke «y’isandari.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko yari azi uwo ari we.»
Canke «yicaye ku biro vy’ikori.»
Canke «kwa Lewi yicaye ku meza.»
Canke «mu mikuza y’inshato.»
Canke «baramyoza.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ni Umukama w’isabato.»
Canke «kunyunyutse.»
Mu kigiriki havuga ngo «mbere n’impwemu zihumanye.»
Canke «ashinga.»
Bibiliya zimwezimwe zivuga ngo «Simoni w’i Kana.» Ariko ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe ng’aha risobanura ngo «umunyamwete.»
Ni irindi zina rya Shetani.
Canke «uburorero», «imigani.»
Canke «amajambo yo kurogota.»
Canke «uwurogota ku mpwemu nyeranda.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «muri iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «y’igiseke bapimisha.»
Ni ibiterwa vyo mu bwoko bw’imboga.
Canke «muri abanyabwoba.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «avuye hagati y’imva z’icibutso.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «mu karere k’ibisagara cumi.»
Canke «kagira gapfe.»
Canke «ku mpuzu yiwe yo hejuru.»
Canke «ntusubire kugira ubwoba.»
Canke «ubu bukerebutsi.»
Canke «ku mpwemu zihumanye.»
Mu kigiriki havuga ngo «canke umujumpu mu dusaho two ku mikaba yabo.»
Canke «isandari.»
Canke «impuzu zibiri.»
Canke «abakomanda.»
Canke «n’abari bicaranye na we ku meza.»
Canke «no kubera abari bicaranye na we ku meza.»
Canke «bagishira mu mva y’icibutso.»
Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «mw’iterama rigira kane.» Ni ukuvuga nko kuva sacenda z’ijoro gushika izuba riserutse, nka sakumi na zibiri zo mu gitondo.
Canke «yasa n’uwugomba kubarengana.»
Inanga y’ubwato ni ikintu baterera mu mazi kugira ubwato bugume hamwe. Kiba gifashe ku munyororo.
Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»
Ntibisobanura ko barya badakaravye, ahubwo ntibakaraba bisunze imigenzo y’Abayuda.
Canke «kubatiza.»
Canke «amabirika.»
Raba Inyongera ya A3.
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «kurogota.»
Canke «y’ubusazi.»
Canke «impwemu ihumanye.»
Canke «yikubita.»
Canke «mu karere k’ibisagara cumi.»
Canke «bisonzesheje.»
Canke «ibiseke vy’ibifungurwa.»
Canke «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «gucira.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «iri yaruka.»
Canke «barenga ibigo.»
Mu kigiriki havuga ngo «batazogenda bahonjeje urupfu.»
Canke «impuzu ziwe zo hejuru.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bayagira ibanga.»
Canke «iyaruka.»
Canke «iyo mpwemu ihumanye.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A3.
Raba Inyongera ya A3.
Ni ukuvuga abazotererwa muri Gehena.
Canke «ububasha.»
Canke «ku mupaka.»
Canke «urwandiko.»
Mu kigiriki havuga ngo «yaboheye ku ngogo imwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «babwirana.»
Canke «mu gihe kizoza.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «abazwi.»
Iryo zina risobanura ngo «mwigisha.»
Canke «impuzu zabo zo hejuru.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «igikoresho.»
Raba Inyongera ya A3.
Mu kigiriki havuga ngo «awukotesha.»
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe w’imfuruka.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «bibereye.»
Canke «ikori ry’umutwe.»
Raba Inyongera ya B14.
Canke «nimubisubize.»
Canke «rihambaye.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «vyizavyiza.»
Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»
Mu kigiriki havuga ngo «barotsa amazu y’abapfakazi.»
Canke «ruremereye.»
Mu kigiriki havuga ngo «leputoni zibiri, ari yo kwadarani.» Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «intango y’ububabare nk’ubw’ibise.»
Canke «ariko uwihangana.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntaze agaruke ku bintu yasize inyuma.»
Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu ntango y’irema.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «nta gifise umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «muri ya miyaga ine.»
Muri Isirayeli, ibiterwa bitotahara mu ci.
Canke «iri yaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «canke mu nkoko.»
Canke «ku mayeri.»
Canke «yicaye ku meza.»
Mu kirigiki havuga ngo «agacupa ka alabasitironi.» Raba Insiguro y’amajambo (Alabasitironi).
Canke «amena.»
Raba Inyongera ya B14.
Canke «baramukarira.»
Mu kigiriki havuga ngo «amahera y’ifeza.»
Canke «kumpemukira.»
Canke «mu kabakure.»
Canke «amazaburi.»
Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»
Canke «urabishaka.»
Canke «ari nk’aho ari gusa», «yambaye impuzu yo munsi gusa.»
Mu kigiriki havuga ngo «Umwana wa wa Muhezagirwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «yicaye iburyo bw’ububasha.»
Canke «ingene arogose.»
Canke «muvyiyumvirako iki?»
Canke «amaja ku kazu ko kw’irembo.»
Canke «mumanike ku giti!»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «hari kw’isaha igira 3.»
Raba Inyongera ya A3.
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «isaha igira 6.»
Mu kigiriki havuga ngo «isaha igira 9.»
Cari ikintu kimeze nk’ikinyuko gishobora kununuza amazi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Yozefu.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «mu mva y’icibutso.»
Canke «ku mva y’icibutso.»
Twisunze imizingo imwimwe ya kera yizigiwe, Injili ya Mariko igarukira ku murongo wa 8. Raba Inyongera ya A3.