1
Ubutumwa kuri Tewofile (1-4)
Gaburiyeli amenyesha ivuka rya Yohani Umubatizi (5-25)
Gaburiyeli amenyesha ivuka rya Yezu (26-38)
Mariya aja kuramutsa Elizabeti (39-45)
Mariya ashemeza Yehova (46-56)
Yohani avuka; ahabwa izina (57-66)
Ubuhanuzi bwa Zakariya (67-80)
2
Ivuka rya Yezu (1-7)
Abamarayika babonekera abungere (8-20)
Ukugenyerwa n’ukwityorora (21-24)
Simeyoni abona Kristu (25-35)
Ana avuga ibijanye n’uwo mwana (36-38)
Bagaruka i Nazareti (39, 40)
Yezu ku rusengero afise imyaka 12 (41-52)
3
Igihe Yohani yatangura igikorwa ciwe (1, 2)
Yohani yigisha ibijanye n’ibatisimu (3-20)
Yezu abatizwa (21, 22)
Amamuko ya Yezu Kristu (23-38)
4
Shetani agerageza Yezu (1-13)
Yezu atangura kwigisha i Galilaya (14, 15)
Abantu b’i Nazareti banka kwumviriza Yezu (16-30)
Mw’isinagogi y’i Kaperinawumu (31-37)
Yezu akiza inabukwe wa Simoni n’abandi (38-41)
Isinzi risanga Yezu ahantu hiherereye (42-44)
5
Bafata amafi ku gitangaro; abigishwa biwe ba mbere (1-11)
Akiza umunyamibembe (12-16)
Akiza umuntu amugaye (17-26)
Ahamagara Lewi (27-32)
Ikibazo kijanye n’ukwisonzesha (33-39)
6
Yezu «arafise ububasha kw’isabato» (1-5)
Akiza umugabo afise ukuboko kumugaye (6-11)
Za ntumwa 12 (12-16)
Yezu yigisha kandi agakiza abantu (17-19)
Abahiriwe n’abagowe abo ari bo (20-26)
«Nimukunde abansi banyu» (27-36)
«Nimureke guca urubanza» (37-42)
Igiti kimenyekanira ku vyamwa vyaco (43-45)
Inzu yubatswe neza be n’iyitagira umushinge (46-49)
7
Ukwizera kw’intwazangabo (1-10)
Yezu azura umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini (11-17)
Yezu ahayagiza Yohani Umubatizi (18-30)
Yezu anebagura urunganwe rutagira ukwizera (31-35)
Umugore w’umucumuzi ababarirwa (36-50)
8
Abagore baherekeza Yezu (1-3)
Ikigereranyo c’umubivyi (4-8)
Igituma Yezu yakoresha ibigereranyo (9, 10)
Asigura ikigereranyo c’umubivyi (11-15)
«Nta wodomeka itara ngo ace aripfuka» (16-18)
Nyina wa Yezu na benewabo (19-21)
Yezu atururuza igihuhusi (22-25)
Arungika amadayimoni mu ngurube (26-39)
Umukobwa wa Yayiro; umugore yakoze ku mpuzu za Yezu (40-56)
9
Ivyo bamwe cumi na babiri bokwisunga bagiye kwamamaza (1-6)
Herodi azazanirwa n’ivya Yezu (7-9)
Yezu agaburira abagabo 5.000 (10-17)
Petero avuga ko Yezu ari Kristu (18-20)
Yezu amenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (21, 22)
Ivyo abigishwa b’ukuri basabwa (23-27)
Yezu ahinduka ukundi (28-36)
Akiza umuhungu arimwo idayimoni (37-43a)
Yezu yongera kumenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (43b-45)
Abigishwa baharira ku bijanye n’uwari mukuru (46-48)
«Uwutaturwanya aba adushigikiye» (49, 50)
Abo mu kigwati c’Abasamariya banka kwakira Yezu (51-56)
Ico bisobanura gukurikira Yezu (57-62)
10
Yezu arungika bamwe 70 kwamamaza (1-12)
Ibisagara bitigaya biragowe (13-16)
Bamwe 70 bagaruka (17-20)
Ashemeza Se wiwe kubera yitaho abantu batobato (21-24)
Ikigereranyo c’Umusamariya w’imbabazi (25-37)
Yezu aja kwa Mariya na Marita (38-42)
11
Ingene twosenga (1-13)
Yezu yirukana amadayimoni afashijwe n’urutoke rw’Imana (14-23)
«Iyo impwemu mbi igarutse» (24-26)
Agahimbare nyakuri (27, 28)
«Ikimenyetso ca Yona» (29-32)
«Itara ry’umubiri» (33-36)
Baragowe abanyamadini biyorobeka (37-54)
12
Umwambiro w’Abafarizayo (1-3)
Nimutinye Imana, ntimutinye abantu (4-7)
Uwemera ko ari umwigishwa wa Kristu (8-12)
Ikigereranyo c’umutunzi w’ikijuju (13-21)
«Nimureke kwiganyira» (22-34)
Kuguma umuntu ari maso (35-40)
Umubwiriza w’umwizigirwa n’uwutari umwizigirwa (41-48)
Sinaje kuzana amahoro, ahubwo naje gucanishamwo abantu (49-53)
Gusuzuma ibimenyetso vy’ibihe (54-56)
Gutorera umuti amatati (57-59)
13
«Nimutigaya muzopfa» (1-5)
Ikigereranyo c’igiti c’umusukoni kitama (6-9)
Yezu akiza umugore amugaye kw’isabato (10-17)
Ikigereranyo c’agatete ka sinapi n’umwambiro (18-21)
«Mwihate cane kugira muce mw’irembo ryaga» (22-30)
«Iyo mbwebwe» Herodi (31-33)
Yezu aririra Yeruzalemu (34, 35)
14
Yezu akiza umuntu arwaye urusina kw’isabato (1-6)
Niwicishe bugufi iyo bagutumiye (7-11)
Mutumire abatagira ico babishura (12-14)
Abatumire barondera ivyitwazo vyo kutitaba ubutumire (15-24)
Ico bisaba kuba umwigishwa (25-33)
Iyo umunyu utakaje akanovera (34, 35)
15
Ikigereranyo c’intama yatakaye (1-7)
Ikigereranyo c’igiceri catakaye (8-10)
Ikigereranyo c’umwana w’icangazi (11-32)
16
Ikigereranyo c’umubwiriza atagororotse (1-13)
Amategeko n’Ubwami bw’Imana (14-18)
Ikigereranyo c’umutunzi na Lazaro (19-31)
17
Ibitsitaza, imbabazi n’ukwizera (1-6)
Abashumba b’imburakimazi (7-10)
Akiza abanyamibembe cumi (11-19)
Ukuza kw’Ubwami bw’Imana (20-37)
18
Ikigereranyo c’umupfakazi yumirako (1-8)
Umufarizayo n’umutozakori (9-14)
Yezu hamwe n’abana (15-17)
Umutware w’umutunzi abaza ikibazo (18-30)
Yezu yongera kumenyesha ibijanye n’urupfu rwiwe (31-34)
Ahumura umugabo w’impumyi asegerereza (35-43)
19
Yezu aja kwa Zakayo (1-10)
Ikigereranyo c’imina cumi (11-27)
Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’umwami (28-40)
Yezu aririra Yeruzalemu (41-44)
Yezu ahumanura urusengero (45-48)
20
«Ni ububasha nyabaki butuma ukora ivyo bintu?» (1-8)
Ikigereranyo c’abarimyi b’abicanyi (9-19)
Imana na Sezari (20-26)
Ikibazo ku bijanye n’izuka (27-40)
Kristu yoba ari mwene Dawidi? (41-44)
«Mwiyubare abanditsi» (45-47)
21
Uduceri tubiri tw’umupfakazi w’umukene (1-4)
IKIMENYETSO KIZOBA IKIHE? (5-36)
Intambara, vya nyamugigima bikomeye, indwara z’ibiza n’inzara (10, 11)
«Nimwabona Yeruzalemu ikikujwe n’ingabo» (20)
Ibihe amahanga yahawe (24)
Ukuza kw’Umwana w’umuntu (27)
Ikigereranyo c’igiti c’umusukoni (29-33)
«Mugume muri maso» (34-36)
Yezu yigishiriza mu rusengero (37, 38)
22
Abaherezi baja inama yo kwica Yezu (1-6)
Gutegura Pasika ya nyuma (7-13)
Atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (14-20)
«Uwuza kungurisha turi kumwe kuri iyi meza» (21-23)
Baharira ku bijanye n’uwari mukuru (24-27)
Agirana isezerano ry’ubwami n’abigishwa biwe (28-30)
Avuga ko Petero aza kumwihakana (31-34)
Kwitegura birahambaye; inkota zibiri (35-38)
Yezu asenga ari ku musozi w’Imyelayo (39-46)
Bafata Yezu (47-53)
Petero yihakana Yezu (54-62)
Batyekeza Yezu (63-65)
Asambishirizwa imbere y’Inama nkuru (66-71)
23
24
Izuka rya Yezu (1-12)
Kw’ibarabara rija i Emawusi (13-35)
Yezu abonekera abigishwa biwe (36-49)
Yezu aduga mw’ijuru (50-53)