ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/4/04 rup. 10-12
  • Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Si ikintu ata co kivuze
  • Yehova Imana ntari kure yawe
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/4/04 rup. 10-12

Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana

UMWANDITSIKAZI w’ikinyamakuru kimwe yaronse ikete rikurikira rivuye ku musomyi umwe rivuga riti: “Namye nyinyana n’iki kibazo mu buzima bwanje bwose, kandi ndizigiye ko ushobora kundonsa inyishu yaco. Izina ry’Imana ni irihe? Abayuda bavuga yuko izina ry’ukuri ry’Imana ryagiye rirazimangana uko imyaka yagiye irarengana. Abakirisu bayita Yezu. Abisilamu bayita Allah. . . . None izina ryayo ni irihe?”. Ico kinyamakuru carasohoye ico kibazo kiri kumwe n’iyi nyishu igira iti: “Nk’uko inyigisho za kera z’Abaheburayo zibivuga, Imana ni Mushoboravyose, ni co gituma idashobora gukwirwa mw’izina rimwe. Ariko rero, ndakubwije ukuri yuko izina ryose uzokoresha mu kuyambaza ubigiranye icubahiro izokwishura”.

Agatima nk’ako ko kutitwararika izina ry’Imana si imbonekarimwe muri iki gihe. Naho ari intahemuka kw’idini, abantu benshi bemera Bibiliya, bitaho buhoro ikibazo kijanye n’izina ry’Imana. Ariko Imana ibibona gute? Coba ari ikintu ata co kivuze kuri yo?

Si ikintu ata co kivuze

Rimbura iki kintu. Bibiliya ikoresha izina ry’uruharo ry’Imana Yehova incuro ibihumbi. Muri Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau, izina ry’Imana riboneka incuro 7.210a! Imana ubwayo ni yo yahumekeye abanditsi ba Bibiliya ngo bakoreshe izina ryayo ku rugero rwo hejuru nk’urwo. Umwe muri abo banditsi, akaba ari Asafu umwanditsi wa Zaburi, yanditse ati: “Wewe, uwitwa [“Yehova”, NW], [ni] wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose” (Zaburi 83:18). Dawidi na we nyene yanditse muri zaburi imwe ati: “Tuzokwizigira izina rya [“Yehova”, NW], Imana yacu”.—Zaburi 20:7.

Bibiliya irerekana yuko Yehova Imana asuzuma imitima yacu kugira arabe ingene dufata izina ryiwe. Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Namba twaribagiye izina ry’Imana yacu, . . . mbeg’Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima” (Zaburi 44:20, 21). Umumenyeshakazoza Yesaya yanditse ati: “Ni mukengurukire [“Yehova”, NW], mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru”.—Yesaya 12:4.

Imana ubwayo yavuze iti: “Bazomenya izina ryanje ko ndi [“Yehova”, NW]” (Yeremiya 16:21). Ikindi gihe yavuze iti: “Nzokwubahiriza izina ryanje rikuru ryatukishijwe mu mahanga, . . . nukw amahanga azomenya yuko jewe ndi [“Yehova”, NW]” (Ezekiyeli 36:23). Amwamwe muri ayo majambo yerekeza ku gihe Yehova azohanana ishavu abatubaha izina ryiwe. Ikibazo cerekeye izina ry’uruharo ry’Imana, si ikintu ata co kivuze kuri yo.

Yehova Imana ntari kure yawe

Ushobora gute gushika ku kumenya izina ry’Imana? Kumenya izina ry’Imana bisigura iki? Bibiliya yishura iti: “Abazi izina ryawe bazokwizigira” (Zaburi 9:10). Biragaragara yuko kumenya izina ry’Imana harimwo n’ibindi uretse gusa kumenya izina ryayo iryo ari ryo. Utegerezwa kuyizigira. Ivyo bisigura kumenya uko Imana imeze no kwiga kamere zayo be n’ivyiyumviro vyayo. Ivyo bizotuma uyizigira.

Ugusoma no kwiga Bibiliya uvyitondeye ni vyo vyonyene bishobora kukuronsa ugutahura ukuntu Imana Yehova imeze. Isezerana kuzokingira aberekana ko bayikunda kandi bagakunda n’izina ryayo. Ku vyerekeye uwukora atyo, Imana ivuga iti: “Kuko yankunze akaramata, ni co gituma nzomukiza: nzomushira hejuru, kuko yamenye izina ryanje. Azonyambaza, nanje ndamwitabe, nzobana na we mu marushwa, ndamukize, mmuhe icubahiro. Nzomuhāza kuramba, kandi nzomwereka agakiza kanje”.—Zaburi 91:14-16.

Ese ukuntu ubwo ari ubucuti bwiza igitangaza Yehova Imana agiranira n’abazi izina ryiwe! Na wewe urashobora kugiranira na we ubucuti nk’ubwo. Mu masengesho umutura avuye ku mutima, ntukigere ugonanwa gukoresha izina ryiwe. Azokwishura kubera yuko nk’uko Bibiliya ibivuga “[n]tari kure y’umuntu n’umwe muri twebge”.—Ivyakozwe 17:27.

[Akajambo k’epfo]

a Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, ni impinduro ya Bibiliya isubiriza imvugo itagihuje n’igihe yo mu mpinduro za kera ikoresheje imvugo ikoreshwa muri iki gihe. Umuce nyamukuru uranga iyo mpinduro, ni isubizwaho ry’izina ry’Imana mu kibanza caryo kibereye mu gisomwa ca Bibiliya. Gushika ubu haramaze gucapurwa amakopi yayo arenga imiliyoni 122 ari yose uko ingana canke igihimba cayo, mu ndimi 45.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 11]

Imana irazi izina ryawe

Imana yabwiye Musa iti: “Ndakuzi izina” (Kuvayo 33:12). Ya nkuru izwi cane y’igisaka kirurumba iravyemeza. Bibiliya ivuga yuko Imana “[ya]muhamaga[ye] iri hagati mur’ico gisaka, iti Mose, Mose!” (Kuvayo 3:4). Ako ni akarorero kamwe gusa mu bihe bitari bike aho Imana yahamagara abantu mu mazina yabo bwite. Biragaragara ko Umuremyi w’isi n’ijuru atwitwararika umwe wese ku giti ciwe.

Bibiliya ivuga yuko Imana izi izina ry’inyenyeri imwimwe yose mu nyenyeri amamaliyaridi (Yesaya 40:26). Ese ukuntu itegerezwa kuba irushiriza kwitwararika abantu bayisenga! Intumwa Paulo yanditse yuko ‘Yehova azi abiwe’ (2 Timoteyo 2:19). Ivyo ntibisigura gusa gufata amazina ku mutwe. Imana irazi mu buryo bwimbitse abayisenga. Natwe rero dukwiye kumenya izina ry’Imana kandi tukironsa ubumenyi bwimbitse ku vyerekeye kamere zayo.

Igitabu ca nyuma ca Bibiliya kiravuga ivy’igitabu c’ikigereranyo Imana yandikamwo amazina y’abayisenze bose muri kahise kose. Ico gitabu citwa “igitabu c’ubu[zima]” kubera yuko Yehova Imana azoha ubuzima budahera abantu amazina yabo yanditswe muri co (Ivyahishuriwe 17:8). Ico ni icizigiro giteye umunezero ku bantu bazi izina ry’Imana.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 12]

Baratangaje izina ry’Imana

● Ururirimbo Musa yaririmvye Isirayeli igira yinjire mu Gihugu c’Isezerano rugira ruti: “Ngira namamaze izina rya [“Yehova”, “NW”]”.—Gusubira mu vyagezwe 32:3.

● Amajambo Dawidi yabwiye ca kigatanya Goliyati agira ati: “Nje kukurwanya mw izina rya [“Yehova”, “NW”] Nyen’ingabo”.—1 Samweli 17:45.

● Amajambo Yobu yavuze aho amariye gutakaza ivyo atunze vyose n’abana biwe bagapfa giturumbuka agira ati: “Izina rya [“Yehova”, “NW”] ni rishemagizwe”.—Yobu 1:21.

● Intumwa Petero asubiramwo mu majambo Ivyanditswe vy’igiheburayo mu nsiguro imwe, agira ati: “Umuntu wese azokwambaza izina rya [“Yehova”, “NW”] azokizwa”.—Ivyakozwe 2:21.

● Umumenyeshakazoza Yesaya yavuze ati: “Ni mukengurukire [“Yehova”, “NW”], mwambaze izina ryiwe, . . . mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru”.—Yesaya 12:4.

● Yezu Kirisitu yigisha abigishwa biwe gusenga ati: “Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe”.—Matayo 6:9, 10.

● Yezu Kirisitu asenga Imana ati: “Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye”.—Yohana 17:6.

● Imana ibwira abasavyi bayo iti: “Jewe ndi [“Yehova”, “NW”], iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi”.—Yesaya 42:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika