Urwaruka ruribaza
Notuma gute abo tubonanye irya mbere bambona neza?
“Iki kiganiro c’ibibazo bibazwa abipfuza akazi kiriko kiragenda neza pe! Uwuzoba umukoresha wanje akwiye kubona yuko nisanzuye; nagiye ndamuhamagara mw’izina kuva ncinjira. Ndazi yuko azompa akazi!”
“Uwu ni wa musore yarungika urupapuro rutangaje ruvuga amashure yize n’akazi yakoze? Sinshobora kumuha akazi! Nimba ari uku yifata atararonka akazi, niyakaronka na ho bizogenda gute?”
Ihweze iyo foto, maze usome amajambo ari aho haruguru. Woba ushobora kubona ibintu bitatu bituma uwo muntu ariko arasaba akazi aboneka nabi?
․․․․․
․․․․․
․․․․․
Inyishu ziri aho hepfo
1. Uwo musore yambaye uko yishakiye; si nk’uwugiye kubazwa ibibazo bibazwa abarondera akazi. 2. Imvugo akoresha (mu guhamagara uwo mukoresha mw’izina) yerekana ko amumenyereye birenze. 3. Inyifato yiwe yerekana yuko atubaha.
NUFATE yuko uhonjeje ibifungurwa binaka ari bwo bwa mbere. Bigutwara igihe kingana iki kugira ngo umenye ko ubikunda? Kuryako rimwe gusa vyoshobora kuba ari vyo ukeneye kugira ngo umenye nimba uzosubira kurya ivyo bifungurwa canke utazosubira kubirya.
Ukwo nyene ni ko bigenda igihe uhuye n’uwundi muntu ari bwo bwa mbere. Mu kanya isase, uriha ishusho y’ukuntu uwo muntu ameze. Vyongeye, ehe iciyumviro gituma umuntu azirikana: Muri ako kanya nyene, uwo muntu ariha ishusho y’ukuntu umeze.
Woba uriko urarondera akazi, umugenzi canke uwo muzokwubakana? Ukuroranirwa kwawe kwoshobora kuvana n’ingene utuma abantu bakubona igihe mubonanye irya mbere. Nimuze twihweze imice itatu woshobora kuba ukeneye kuryohora mu bijanye na kamere zigufasha kubana neza n’abandi kugira ngo abo mubonanye irya mbere basigare bakubona neza.
1. Ukuntu uboneka
Vyaba birimwo akarenganyo canke bitarimwo akarenganyo, ukuntu abantu bakubona iyo mubonanye irya mbere kwoshobora kuba gushingiye ku kintu ca mbere babona, ico na co akaba ari ukuntu uboneka. Abantu barakunze kwirengagiza ico kintu kiri mu bituma abandi bababona neza igihe babonanye irya mbere. Umwigeme umwe yitwa Clarissaa avuga ati: “Biboneka yuko igihe ugiye muri resitora muri iyi misi, usanga abantu bahaza batitwararika na gato ukuntu bambara!”
Birumvikana ko ivyo wambara bikwiye kuba bihuye n’ukuntu ibintu vyifashe. Nk’akarorero, igihe ugiye kubazwa ibibazo bibazwa abarondera akazi ntiwokwambara nk’uko wokwambara ugiye kwisamaza! Ariko none tuvuge iki mu gihe utazi neza impuzu zibereye wokwambara? Ikintu cogufasha ni ugukoresha ubukerebutsi mu kwirinda kurenza urugero. Igihe ufise amakenga, niwambare mu buryo busanzwe.
NIWIBUKE IKI KINTU! Ukuntu wambara n’ukuntu witunganya vyoshobora guhishura ico uri.
“Igihe ndi ku rubanza nkabona abantu bambaye uko bishakiye, ndabaca kure. Ico gihe, nta kindi kintu mba nzi ku biberekeye atari ukuntu baboneka, kandi ukwo kuntu baba bambaye kuratuma ndababona nabi.”—Vyavuzwe na Diane.
Bibiliya iduhanura kwambara “inyambaro itunganije neza” yerekana ko dufise ‘urupfasoni be n’uko turoranye mu muzirikanyi.’—1 Timoteyo 2:9.
Niwibaze uti: ‘Impuzu nambara zoba ziboneka ko zitunganije neza, canke noba mpfa izo nambaye? Uwushobora kuzombera umukoresha, umugenzi, canke uwo dushobora kuzokwubakana yoba yokwiyumvira ko ‘ntaroranye mu muzirikanyi’ bitumwe n’ukuntu nambara?’
Inama ugiriwe: Nuhanuze umuntu wubaha kubera akunze kumenya impuzu zibereye.
2. Ivyo uvuga
Ivyo uvuga birahishura yuko woba wicisha bugufi canke wishira hejuru, yuko woba udashavura ningoga canke ushavura ningoga. Urama wibuka ico kintu igihe uriko uragerageza gutuma uwo mudasangiye igitsina akubona neza igihe mubonanye irya mbere. Umwigeme umwe yitwa Valerie avuga ati: “Biranshavuza vy’ukuri iyo ndiko ndayaga n’umusore maze akaguma avuga gusa ibimwerekeye.” Yongerako ati: “Ku rundi ruhande, abahungu bamwebamwe usanga bashaka guca bamenya akantu kose kakwerekeye. Ivyo biratesha umutwe kandi biratuma umukobwa yumva yohunga.”
NIWIBUKE IKI KINTU! Kubera ko ivyo uvuga bituma abandi bashobora kubona ico uri koko, niwiyemeze neza yuko bakubona neza!
“Iyo duhuye n’umusore, ndabishima igihe yifata nk’uko asanzwe ari. Iyo ncuro ya mbere duhuye iba ihambaye. Mu gihe umuhungu yiyumvira mu buryo burenze urugero ivyo agira avuge, birashoboka rwose ko avuga ivyo atari kuvuga.”—Vyavuzwe na Selena.
Bibiliya ivuga iti: “Niwavuga amajambo menshi uzovuga ikintu kitabereye—ku bw’ivyo, nube inkerebutsi kandi ube maso ku vyo uvuga.”—Imigani 10:19, Contemporary English Version.
Niwibaze uti: ‘Nokora iki kugira ngo simvuge amajambo menshi cane kandi simvuge make cane? Hoba hari ikintu na kimwe mu bijanye n’ukuntu mvuga cohava kibabaza abandi?’
Inama ugiriwe: Numenye abantu basa n’abafise ingabirano yo kuyaga. Ni uburyo ubuhe bakoresha kugira ngo batume ikiyago kibandanya? Woba ushobora gukoresha ubwo buryo nyene?
3. Ivyo ukora
Barayamaze bati: Imvugo irutwa n’ingiro. Nk’akarorero, mu gihe ufise imico myiza, ivyo ukora birerekana ko wubaha abandi. Iyo ni iyindi mpanuro ukwiye kwibuka igihe hageze ko urondera uwo muzokwubakana. Umwigeme umwe yitwa Carrie avuga ati: “Gukora utuntu dutoduto, nko kwugururira umuntu umuryango, birerekana ko umwubaha. Utuntu nk’utwo twinshi ubwatwo twerekana urupfasoni abantu bagaragaza muri rusangi.”
NIWIBUKE IKI KINTU! Ivyo ukora birerekana kamere ufise. (Imigani 20:11) Ivyo ukora vyerekana iki ku bikwerekeye?
“Nibaza yuko kuba umuntu azi kwumviriza ari ikintu gihambaye. Vyongeye, kudaciramwo uwundi muntu igihe ariko aravuga kiretse igihe bikenewe, birerekana urupfasoni.”—Vyavuzwe na Natalia.
Bibiliya ivuga iti: “Nufate abandi nk’uko nyene wipfuza ko bagufata.”—Luka 6:31, CEV.
Niwibaze uti: ‘Noba mfise imico myiza? Noba nitwararika abandi bimwe bivuye ku mutima? Abandi boba banyizigira? Noba nubahiriza isaha?’
Inama ugiriwe: Nutegekanye gushika kw’isango hagisigaye n’imiburiburi iminuta icumi kugira ngo nihashika ibintu utari witeze, ntibikubuze gushika ku gihe. Ntutume abantu mubonanye irya mbere baca babona ko uri umuntu akunda gucerwa!
Uragaba: Kuba ukeneye gutuma abantu bakubona neza ntibisobanura ko ukwiye kwiyerekana uko utari. (Zaburi 26:4) Ahubwo nyabuna, numenye kamere wipfuza ko abandi bakumenyerako uheze uzitsimbataze. (Abakolosayi 3:9, 10) Uko ubigenza gutyo, uribuka yuko wewe ubwawe ari wewe utuma abandi bakubona uku canke kuriya. Niwitwararika mu buryo bubereye ukuntu uboneka, ivyo uvuga be n’ivyo ukora, uzotuma abo mubonanye irya mbere bakubona neza, kandi babandanye bakubona gutyo!
a Bamwebamwe si ko bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.