Twisunze Bibiliya
Imana yoba ishigikira intambara muri iki gihe?
UMWAMI DAWIDI wa Isirayeli ya kera yavuze ku bijanye n’uruhara rwiwe rwo kuba umurwanantambara, ati: “[Imana] yigisha ibiganza vyanje intambara, kandi amaboko yanje yagonze umuheto w’umujumpu.”—Zaburi 18:34.
Intumwa Paulo yanditse ku vyerekeye abakirisu ati: “Naho tugenda mu mubiri, ntiturwana intambara twisunga ico turi mu mubiri. Kuko ibirwanisho vy’intambara yacu atari ivy’umubiri.”—2 Abakorinto 10:3, 4.
Ivyo vyanditswe vyoba bivuguruzanya? Canke hoba hariho imvo zumvikana zatuma Imana yemera ko Isirayeli ya kera ija mu ntambara mugabo ikaba yanka ko abakirisu bazijamwo ubu? Ukuntu Imana yabona ibijanye n’intambara kwoba kwarahindutse? Turaza kuronka inyishu z’ivyo bibazo mu kurimbura ibintu nyamukuru bitatu Isirayeli n’ishengero rya gikirisu ry’ukuri bitandukaniyeko.
Ibintu nyamukuru bitatu bitandukaniyeko
1. Isirayeli ya kera ryari ihanga Imana yari yarashiriyeho imbibe, kandi yari ikikujwe n’ababanyi bakunda kurwana. Ni co gituma Imana yategetse abasavyi bayo gukingira igihugu cabo, iratuma mbere batsinda abansi babo. (Abacamanza 11:32, 33) Ishengero rya gikirisu ryoryo, nta mbibe rifise, kandi abarigize bari mu bihugu vyose. Ku bw’ivyo, hamwe abayoboke ba Kristu bo mu gihugu kimwe boja mu ntambara yo kurwanya ikindi gihugu, boba bariko bararwanya abo basangiye ukwemera, ni ukuvuga bene wabo na bashiki babo mu vy’Imana, abo bategekwa gukunda kandi mbere bakabapfira.—Matayo 5:44; Yohani 15:12, 13.
2. Isirayeli ya kera yari ifise umwami w’umuntu, intebe yiwe y’ubwami ikaba yari i Yeruzalemu. Abakirisu b’ukuri bobo bategekwa na Yezu Kristu, ubu akaba ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha, intebe y’ubwami yiwe ikaba iri mw’ijuru. (Daniyeli 7:13, 14) Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Ariko noneho, ubwami bwanje ntibukomoka ino.” (Yohani 18:36) Ku bw’ivyo, nta bwami na bumwe canke ubutegetsi na bumwe bwo kw’isi bwovuga ko ari ubwa Kristu. Ivyo none bivuze iki ku “basuku” ba Yezu ari bo bayoboke biwe? Iciyumviro kigira gatatu kirabisigura.
3. Isirayeli ya kera, cokimwe n’ayandi mahanga, akenshi yararungika intumwa, ni ukuvuga abo twokwita ubu abaserukira ibihugu mu mahanga. (2 Abami 18:13-15; Luka 19:12-14) Kristu yarakoze ikintu nk’ico, mugabo ivyo yakoze bikaba bitandukanye n’ico kintu mu buryo bubiri buhambaye. Ubwa mbere, abayoboke biwe bose ni abamuserukira canke intumwa. Ni co gituma intumwa Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Turi abaserukira Kristu mu kibanza ciwe.” (2 Abakorinto 5:20) Kubera ko bǎri abamuserukira b’abanyamahoro, ntibafata ibirwanisho. Ubwa kabiri, abayoboke ba Kristu babwira abo bose bipfuza kwumviriza ubutumwa bashikiriza. Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Matayo 24:14) Yavuze kandi ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”—Matayo 28:19, 20.
Ikibabaje ni uko abasuku ba Kristu batama bakirwa neza. Ni co gituma Paulo yandikiye umwamamazanjili mukirisu Timoteyo ati: “Bwa musoda mwiza wa Kristu Yezu, wemere umugabane wawe mu kwihanganira imibabaro.” (2 Timoteyo 2:3) Birumvikana ko ibirwanisho vya Timoteyo vyari ivyo mu buryo bw’impwemu, muri vyo hakaba harimwo Ijambo ry’Imana ryanditse, iryitwa “inkota y’impwemu.”—Abanyefeso 6:11-17.
Kubera iki ishengero rya gikirisu ryasubiriye Isirayeli?
Ihanga rya Isirayeli ryaramaze nk’imyaka 1.500 rifitaniye n’Imana ubucuti budasanzwe, buno bukaba bwari bushingiye kw’isezerano. (Kuvayo 19:5) Iryo sezerano, umuhuza waryo akaba yari Musa, ryari rigizwe na ya Mabwirizwa Cumi be n’ayandi mategeko, yose akaba yaremesha ugusenga kw’ukuri be n’ukwisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru zigenga ikibereye n’ikitabereye. (Kuvayo 19:3, 7, 9; 20:1-17) Ariko rero, ikibabaje ni uko Isirayeli uko ari ihanga yahemukiye Imana gushika n’aho yica abahanuzi bayo.—2 Ingoma 36:15, 16; Luka 11:47, 48.
Amaherezo, Imana yararungitse Umwana wayo Yezu Kristu, uno akaba yavutse ari Umuyuda. Aho kugira ngo ihanga ry’Abayuda rimwakire nka we Mesiya, ryaramuteye akagere. Ivyo vyatumye Imana ihagarika isezerano yari imaze igihe kirekire yaragiranye na Isirayeli, maze ca gihome c’ikigereranyo catandukanya Abayuda n’abatari Abayuda kirasenyuka.a (Abanyefeso 2:13-18; Abakolosayi 2:14) Nko muri ico gihe nyene, Imana yarashinze ishengero rya gikirisu, iragena Yezu ngo abe Umutwe waryo. Vyongeye, imbere y’uko ikinjana ca mbere kirangira, iryo shengero ryari rigizwe vy’ukuri n’abantu bo mu mahanga atandukanye. Intumwa Petero, uno akaba yari Umuyuda, yavuze ati: “Mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu [atinya Imana] kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”—Ivyakozwe 10:35.
Ivyabona vya Yehova na bo nyene barihatira gukurikiza akarorero k’abakirisu bo mu ntango. Kanatsinda bamenyekanira ku gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, ku kuba batagira aho bahengamira mu vya politike no ku kuba batagira uruhara mu ntambara. (Matayo 26:52; Ivyakozwe 5:42) Egome, ntibareka ngo hagire ikintu na kimwe kibabuza kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari yo ntwaro yonyene izorandurana n’imizi ububi bwose maze ikazana kw’isi amahoro yamaho. Intumwa Paulo afise ico cizigiro gihambaye mu muzirikanyi, yanditse ati: “Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: ‘Nimusubize hamwe n’Imana.’ ” (2 Abakorinto 5:20) Ako kamo karihutirwa cane muri iki gihe, na rirya iherezo ry’ “imisi ya nyuma” y’iyi si mbi ryegereje.—2 Timoteyo 3:1-5.
[Akajambo k’epfo]
a Ijambo “Umuyuda” mu ntango ryakoreshwa ku muntu w’Umwisirayeli wo mu muryango wa Yuda. Iryo jambo ryahavuye rikoreshwa ku Baheburayo bose.—Ezira 4:12.
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Ni kamere ihambaye iyihe itegerezwa kurangwa mu bakirisu?—Yohani 13:34, 35.
● Ico twokwita ikirwanisho nyamukuru c’umukirisu w’ukuri ni ikihe?—Abanyefeso 6:17.
● Abaserukira Kristu bamamaza ubutumwa buhambaye ubuhe?—Matayo 24:14; 2 Abakorinto 5:20.
[Ifoto ku rup. 15]
Ivyabona vya Yehova bagize umuryango ugizwe n’abantu bo mu mahanga yose kandi baguma batagira aho bahengamiye mu ntambara ziba mu mahanga