Niwame wibuka gushima
NI RYARI uheruka kuronka agakete ko gushima? Weho uheruka kukarungikira abandi ryari?
Muri iyi si aho ivyo guhanahana amakuru kuri orodinateri vyeze, ubutumwa bwo gushima bwanditse n’iminwe busigaye ari imbonekarimwe. Ariko rero, gushimira abandi biciye mu nyandiko ni uburyo bwiza cane bwo kubereka ko ukenguruka umutima mwiza bagaragaza. Ng’izi inama tukugiriye z’ingene wobigira.
1. Niwandike ubwo butumwa n’iminwe.
2. Nuvuge mw’izina umuntu ubwandikiye.
3. Nimba yaguhaye akaganuke, nuvuge ako ari ko n’ingene utegekanya kugakoresha.
4. Niwongere ushime mu gusozera.
Agakete ko gushima kareza umutima cane uwukarungikiwe.
Nihagira umuntu rero akwitwararika, akakugirira iciza canke akaguha akaganuke, uramwereka ko utafashe minenegwe utwigoro yagize. Urama wibuka gushima.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 28, 29]
Kuri senge Mariya nikundira, #2
Warakoze cane kuri irya saha wampaye! #3 Kubera nkunda kuryamira, ndamaze gutangura kuyifashisha. Narahimbawe cane no kubonana nawe mu ndwi iheze, kandi nizeye ko washitse impore. Twiteganye umushasharo gusubira kukubona vuba.
Nsubiye kugushimira kubona waranzirikanye! #4
Umusengezana wawe,
Yohani
[Ifoto]
#1
[Uruzitiro ku rup. 29]
IMPANURO
● Nuvuge ibijanye n’amahera utadudurirako. Nk’akarorero, aho kudomako igitigiri c’amahera waronse, woshobora kuvuga uti: “Warakoze cane ku kaganuke wampaye karanga urukundo. Ntegekanya kugakoresha gutya na gutya.”
● Nushiremwo gusa amakuru ajanye n’ako kaganuke be n’ingene ugakenguruka. Si co g8he co kumwiganira ivyerekeye uburuhuko wagize canke ko uherutse kuja kwa muganga.
● Ntiwidoge ku vyerekeye ingorane iyo ari yo yose ijanye n’ako kaganuke. Nk’akarorero, ntivyoba ari vyiza wanditse ngo: “Warakoze kuri birya birato, ariko nasanze bitankwiye!”
[Uruzitiro ku rup. 29]
Bibiliya iraturemesha kuba abantu bakenguruka. (Luka 17:11-19) Iduhimiriza ngo “[d]usenge ubudahengeshanya,” igaca yongerako iti: “Mukenguruke muri vyose.”—1 Abatesalonika 5:17, 18.