ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/12 rup. 2-3
  • Ubukozi bw’ikibi buratugirira nabi twese

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukozi bw’ikibi buratugirira nabi twese
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Iterabwoba ryoba rizokwigera rihera?
    Ibindi biganiro
  • Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Yaratwawe n’ubukozi bw’ikibi
    Be maso!—2012
  • Ubugizi bwa nabi
    Be maso!—2015
Ibindi
Be maso!—2012
g 8/12 rup. 2-3

Ubukozi bw’ikibi buratugirira nabi twese

NI NDE atarashikirwa n’ingaruka z’ubukozi bw’ikibi? Twama twabubonye canke twabwumvise mu makuru. Turatinya ko abantu b’inkozi z’ikibi botugirira nabi igihe turi mu mabarabara no ku kazi. Abana na bo baragirirwa nabi n’ababisha igihe bari kw’ishure. Mbere n’i muhira, aho akenshi abantu bumva ko batekaniwe biyugaranye, abantu amamiliyoni, na canecane abagore, ntibumva ko batekaniwe. Kukaba nkako, bivanye n’igihugu, abagore bashika ibice 70 kw’ijana bavuga yuko bagiriwe nabi n’abagabo babo.

Mu bihugu vyinshi, abantu baratinya imigumuko yo mu vya politike canke yo mu kibano igirwa n’abantu b’inkozi z’ikibi kibure bagatinya ba gaterabwoba. Ukwo gutinya kugaragarira mu kuntu abantu bo mu bihugu bimwebimwe, na canecane ivyigeze guterwa na ba gaterabwoba, barushiriza kwongereza ivyuma vyo mu buhinga bwa none bibafasha gucungera umutekano.

Ntibitangaje kubona mwene ivyo vyuma birushiriza gutera imbere mu gihe ivy’ubutunzi biguma bicumbagira kw’isi. Ni nde ariha ivyo vyose? Impera n’imperuka ni twe tubiriha biciye ku makori canke ku mahera turiha mu bundi buryo. Kandi ayo mahera yoshobora kwongerekana cane uko ubwo buryo bwo gucungera umutekano burushiriza gukwira hose no kuzimba.

Ingaruka z’ubukozi bw’ikibi zihagarika umutima, zikwiye gutuma tuzirikana ibitwerekeye, ni ukuvuga tukazirikana ingingo ngenderwako twisunga be n’ivyo twemera. Ibiganiro bikurikira biraca irya n’ino ibi bibazo: Ibimenyeshamakuru birangura uruhara uruhe mu bijanye no gukwiragiza ubukozi bw’ikibi? Ni ibintu ibihe bishobora kugira ico bikoze ku kuntu tubona ubukozi bw’ikibi? Twokwirinda gute ivyo bintu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika