Yaratwawe n’ubukozi bw’ikibi
ISI ya none yaratwawe n’ubukozi bw’ikibi. Ni ivy’ukuri ko ubukozi bw’ikibi bwamye bwibonekeza mu vyo kwisamaza. Ariko rero, ikinyamakuru kimwe (Media Awareness Network) kivuga yuko “mu myaka ya vuba hari ikintu cahindutse ku bintu bijanye n’ubukozi bw’ikibi bishirwa mu bimenyeshamakuru. Kimwe coco, hashirwamwo vyinshi cane.” Ikindi na co, usanga ivyo bintu vyerekanwa “mu buryo bweruye kuruta, bushingiye cane ku gitsina kandi burushirije kuba ubw’ubunyamaswa.” Rimbura ibintu bikurikira.
Umuziki: Nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, indirimbo zirimwo amajambo ashimika cane ku bw’ubukozi bw’ikibi “zisigaye zibonwa ko ari ikintu gisanzwe n’abatunganya ivy’umuziki.” Indirimbo zimwezimwe zirakoresha imvugo ziteye isoni zigahayagiza ivy’ubwicanyi, ugufata abantu ku nguvu, mbere n’ugufata ku nguvu abakenyezi na ba inabibondo.
Udukino two kuri videwo: Ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza kivuga ibijanye n’abakunda cane udukino two kuri videwo, cagize giti: “Birateye impungenge kuba udukino two kuri videwo twerekana cane ivyo gusesa amaraso.” Congeyeko giti: “Kugira ngo umuntu akunde udukino two kuri videwo ategerezwa kuba akunda ku rugero runaka bw’ubukozi bw’ikibi.” Nk’akarorero, hari agakino gakundwa na benshi gatuma abagakina bamera nk’abariko barakubitagura abakenyezi n’ibibando gushika bapfuye. Abahinga bamwebamwe baremera yuko udukino two kuri videwo twoshobora kugira akosho kabi cane ku bana kuruta ako televiziyo ibagirako, kubera ko dutuma umuntu agira uruhara mu biba biriko biragirwa.
Amasinema: Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko bw’ubukozi bw’ikibi, ivy’igitsina be n’amajambo y’ibishegu vyongerekanye rwose mu masinema, kandi nta wokwizigira mwene vya bimenyetso bishirwa kw’isenema kanaka vyerekana ko ibirimwo bibereye. Vyongeye, muri ayo masinema abantu bakina uruhara rw’inkozi z’ikibi si bo gusa bakora ikibi. Nk’uko icigwa kimwe cagizwe kivyerekana, hafi ica kabiri c’ubukozi bw’ikibi bwerekanwa kuri televiziyo, mu masinema no mu miziki yo mu mavidewo, bigirwa n’abakina uruhara rw’abantu beza.
Amakuru: Abategura amakuru yo kuri televiziyo usanga bisunga iki civugo kigira giti: “Amakuru aryohera abantu benshi ni ayajanye no gusesa amaraso.” Amakuru ni urudandazwa rukomeye cane, kandi abamenyeshamakuru barazi yuko ibintu bijanye n’ubukozi bw’ikibi bikwegera abayaraba be n’uko ubwinshi bw’abayaraba bukwegera abahayanisha ibidandazwa, bano bakaba ari bo batanga amahera yo gushigikira ibiganiro bicishwa kuri televiziyo mu bihugu vyinshi.
Imihora yo kuri Internet: Kuri Internet usanga hari amashusho yerekana ibintu vyabayeho canke bitabayeho bijanye no gusinzikariza abantu ubuzima, kubahimbagura, kubakomeretsa bikomeye hamwe no kubica. Abana benshi baraja kuri iyo mihora.
Ubukozi bw’ikibi bwerekanwa mu bimenyeshamakuru bwoba bwogira ico bugukozeko?
Ubukozi bw’ikibi bwerekanwa kuri televiziyo, mu masinema, mu bitabu, mu miziki no mu bundi buryo bwo kwisamaza bwoba bugira ico bukoze ku bantu? Ni ivy’ukuri ko ababwungukirako bakunda kuvuga yuko ibintu basohora ata co vyonona. Mugabo rimbura iki kintu: Kugira ngo abadandaza batume abantu bahindura ukuntu babona ibidandazwa vyabo, baratanga amahera atagira uko angana mu kubihayanisha kuri televiziyo, kimwekimwe cose muri vyo kikaba coshobora kumara amasegonda 30 gusa kiriko kirerekanwa. Vyoba none vyumvikana kuvuga ko isinema imara iminuta 90, iyishobora kuba irimwo ivy’ubuhumbu n’ubukozi bw’ikibi, itazogira ikintu kinini ikoze canke itazogira ikintu na kimwe ikoze canecane ku mizirikanyi y’abana yoshwa bitagoranye?
Umuremyi wacu Yehova Imana arazi ukuntu twebwe abantu tumeze kurusha uko twiyizi. Ni ibiki none yatubwiye ku bijanye no kwifatanya n’inkozi z’ikibi, harimwo canecane abadufasha kwisamaza berekanwa mu bimenyeshamakuru bikundwa na benshi? Rimbura imirongo yo muri Bibiliya ikurikira:
● “Yehova ubwiwe asuzuma umugororotsi kimwe n’umubisha, kandi uwo wese akunda ubukazi umutima wiwe uramwanka koko.”—Zaburi 11:5.
● “Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu; kandi ntujane n’umuntu w’ubushangashirwe bwiguburiza, ngo ntuhave umenyēra iminyuro yiwe ugatega koko umutego ubuzima bwawe.”—Imigani 22:24, 25.
Ego ni ko, ntidushobora kwirinda rwose ibintu vyose bitugirako akosho kabi. Mugabo turashobora guhitamwo uburyo bwo kwisamaza be n’abantu twifatanya. Niwibaze rero uti: ‘Nipfuza kuba umuntu ameze ate?’ Nuce wifatanya n’abantu bameze batyo, abantu bisunga ingingo nk’izo wipfuza kwisunga kandi bafise imigambi nk’iyo wipfuza kugira.—Imigani 13:20.
Naho abo duhitamwo kwifatanya be n’uburyo bwo kwisamaza duhitamwo bishobora kugira ico bikoze ku kuntu tubona ubukozi bw’ikibi, hariho n’ibindi bintu vyoshobora kugira ico bidukozeko. None ivyo bintu vyoba ari ibiki?
[Ifoto ku rup. 4]
Uburyo bwo kwisamaza duhitamwo bwoshobora kugira ico bukoze ku kuntu tubona ubukozi bw’ikibi