ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/12 rup. 6-7
  • Ibituma haba ubukozi bw’ikibi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibituma haba ubukozi bw’ikibi
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba bishoboka ko ubukozi bw’ikibi buhera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ubugizi bwa nabi
    Be maso!—2015
  • Yaratwawe n’ubukozi bw’ikibi
    Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 8/12 rup. 6-7

Ibituma haba ubukozi bw’ikibi

IKINTU gituma ubukozi bw’ikibi gisa n’ikigoye gutahura. Kandi akenshi nta wovuga ko umuntu aba buterwa n’ikintu kimwe gusa, nk’akarorero abo yifatanya na bo, uburyo yisamaza be n’aho aba. Bwoshobora guterwa n’ibintu vyinshi harimwo n’ibi bikurikira.

Ukwihebura. Rimwe na rimwe abantu bakora ikibi igihe bahahajwe, bakumiriwe mu kibano canke bakenye kibure igihe babona ko ata co bashobora guhindura ku buzima bwabo.

Agakuku. Nk’uko bikunda kwibonekeza mu bihe vy’inkino, abantu bari mu migwi bisa n’ibibagora kurwanya inyifato mbi. Kubera iki? Igitabu kimwe (Social Psychology) kivuga yuko basa n’ “abibagira ingingo mfatirwako bisunga zigenga ikibereye n’ikitabereye bikaba kandi bishoboka rwose ko baca bagira ico bakoze igihe habaye ibintu vyoshobora gutuma abantu bakora ikibi.” Ikindi gitabu kivuga yuko mwene abo bantu boshobora gutangura kugendera ku vyiyumviro vy’abandi, ntibabe “bakibona ko hari ico babazwa mu kibano.”

Urwanko n’ishari. Ubwicanyi bwa mbere bwabaye kuva abantu batanguye kubaho, bwakozwe n’umuntu yitwa Kayini. (Itanguriro 4:1-8) Kayini abitumwe n’ishari ririmwo urwanko, yarishe mwenewabo naho nyene Imana yari yamugabishije ngo acungere ishavu ryiwe ikongera ikamusezeranira kumuhezagira aramutse abigize. Ese ukuntu aya majambo yo muri Bibiliya ari ay’ukuri, akaba agira ati: “Aho ishari n’agatima k’amahane biri, [ni] ho haba umuvurungano n’ikintu c’agahomerabunwa cose”!—Yakobo 3:16.

Kunywa inzoga zirenze urugero n’ibiyayuramutwe. Ivyo bintu, uretse ko vyonona amagara y’umuntu n’ubwenge bwiwe, biragabanya kandi ubushobozi ubwonko bufise bwo gutuma ibihimba vy’umubiri bigira ico bikoze. Ikivamwo ni uko umuntu yigaruriwe n’ivyo bintu yoshobora kurushiriza kugira agatima ko kukora ikibi no kuvyifatamwo mu buryo bukaze igihe asomborokejwe.

Inzego z’ivy’ubutungane zijejwe guhasha ubugizi bwa nabi. Mu Musiguzi 8:11 havuga hati: “Kubera ko urubanza rwo guhasha igikorwa kibi rutashikijwe ningoga, ni co gituma umutima w’abana b’abantu wiyemeje rwose muri bo gukora ikibi.” Inzego z’ivy’ubutungane zigoyagoya, zitabishoboye canke zamogoreye ibiturire ziratuma haba ubukozi bw’ikibi, zikabigira mu buryo buboneka canke butaboneka.

Idini ry’ikinyoma. Akenshi usanga abantu b’inkozi z’ikibi bari mw’idini kanaka, aho hakaba harimwo abari mu tudumbi na ba gaterabwoba. Mugabo abantu b’amacakubiri, intagondwa be n’abantu b’ishaka rirenze urugero, si bo gusa bobibazwa. Mu gihe ca za ntambara zibiri z’isi yose, abantu bo mu madini makurumakuru, ni ukuvuga ay’abiyita abakirisu n’ayatari ay’abakirisu, baricanye, akenshi bakaba babigira bashigikiwe n’abakuru bayo. Inyifato nk’iyo irababaza Imana.—Tito 1:16; Ivyahishuwe 17:5, 6; 18:24.

Turavye ivyo bintu vyose bituma baba ubukozi bw’ikibi canke bibuhayagiza, vyoba bishoboka ko umuntu aba umunyamahoro vy’ukuri muri iyi isi? Birashoboka, nk’uko tugira tubibone.

[Uruzitiro ku rup. 6]

UBUKOZI BW’IKIBI BUTANGURIRA IMBERE MU MUNTU

Naho umuntu yoshobora kuba inkozi y’ikibi bitumwe n’ibintu bitari bike, ikintu nyamukuru kibituma kiri imbere muri twebwe. Uti gute? Yezu Kristu, uwatahura bimwe bigera kure ukuntu umutima w’umuntu umeze, yavuze ati: “Imbere mu mutima w’abantu [ni] ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi, ukwiba, ubwicanyi, ukurenga ibigo, ukugira umwina, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni, ijisho ry’inzigo, ukurogota, ubwibone, ubusazi.” (Mariko 7:21, 22) Turakabura izo mpengamiro mbi igihe tuza turaraba ibintu bibi, tuza turavyumviriza canke igihe tuza turavyiyumvira.—Yakobo 1:14, 15.

Igihushanye n’ivyo, igihe tugaburiye ubwenge bwacu ibintu vyiza, nka birya bivugwa mu kiganiro kiri ku rupapuro rwa 8, ni nk’aho ivyipfuzo bibi tuvyicisha inzara gutyo ‘tukavyica’ hanyuma tugatsimbataza ivyipfuzo vyiza. (Abakolosayi 3:5; Abafilipi 4:8) Imana ica idufasha “kuba abakomeye mu muntu [turi] imbere.”—Abanyefeso 3:16.

[Uruzitiro ku rup. 7]

INCABWENGE NTIZITAHURA IGITUMA HABA UBUKOZI BW’IKIBI

Ni kubera iki amaraporo yo mu bihugu bimwebimwe yerekana ko ubwicanyi bukorerwa muri vyo buruta incuro 60 ubukorerwa mu bindi bihugu? Ni kubera iki intambara be n’ubundi bukozi bw’ikibi vyamye vyigaragaza mu bantu? Abantu baribaza ibibazo bitesha umutwe vyinshi nk’ivyo mugabo ntibaronka inyishu zijijura.

Abashakashatsi bamwebamwe babona ko ubukene n’ubusumbasumbane bw’abantu ari vyo bituma haba ubukozi bw’ikibi. Nk’uko ibitigiri bimwebimwe bivyerekana, ibice nka 90 kw’ijana vy’abantu bapfuye biturutse ku bukozi bw’ikibi, harimwo n’ukwiyahura, bari abo mu bihugu bikenye vyo kw’isi kandi uduce two mu bisagara dukenye kuruta utundi akenshi usanga ari two tubamwo ubwicanyi bwinshi. Ariko none, abantu bakenye boba vy’ukuri ari bo bakora ikibi kuruta abandi? Canke boba ari bo bagirirwa nabi n’inkozi z’ikibi kuruta abandi ngo ni uko ibibano vyabo bidashobora kuronka amahera yo kuriha inyamiramabi zikora neza? Nimba ari ukwo biri, hariho ibibanza bimwebimwe nk’igisagara ca Calcutta mu Buhindi, aho usanga abantu amamiliyoni babayeho mu bukene butagira izina. Yamara, ico gisagara ni kimwe mu bibanza vyo kw’isi biberamwo ubwicanyi bukeyi.

Abandi biyumvira yuko kuba abantu bashobora kuronka inkoho bitagoranye bituma barushiriza kuba n’inkozi z’ikibi. Ni ivy’ukuri ko inkoho zituma abantu n’inkozi z’ikibi barushiriza guteza akaga. Ariko none, kubera iki mu bibano bimwebimwe usanga hari abantu n’inkozi z’ikibi benshi kuruta mu bindi? N’ico nyene abahinga ntibagihurizako.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika