Twisunze Bibiliya
Woba ubwirizwa kuja mu rusengero kugira usenge Imana?
ABANTU benshi bama bagiye mu nyubakwa kanaka z’idini gusenga. Abandi na bo baragira ingendo ndende baja muri ivyo bibanza. Woba ubona ko ubwirizwa kuja muri mwene ivyo bibanza kugira usenge Imana? Canke woba ubona ko ushobora kuyisengera aho ari ho hose n’igihe ico ari co cose? Bibiliya ibivugako iki?
Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, nta nyubakwa zo gusengeramwo zariho. Abavyeyi bacu ba mbere bibera mw’itongo ryiza igitangaza. (Itanguriro 2:8) Barashobora kuganira n’Umuremyi wabo Yehova Imana bari aho hantu. Mu nyuma abantu bamaze kugwira, abantu b’abagororotsi, dufashe nka Nowa, “[bar]agendana n’Imana y’ukuri” kandi ata nyubakwa zo gusengeramwo zariho. (Itanguriro 6:9) Bari abantu basenga cane bakunda Yehova kandi ntibitangaje kubona yarabashima.
Imana ntiba mu nyubakwa zakozwe n’amaboko
Abantu b’abizigirwa ba kera bari bazi ko Umuremyi w’isi n’ikirere amahero ataba mu nyubakwa zakozwe n’amaboko. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yabajije ati: “Imana izobana vy’ukuri n’abantu kw’isi?” Yiyemereye atihenze ati: “Ehe ijuru, egome, ijuru ry’amajuru ubwayo ntirishobora kugukwira.” (2 Ngoma 6:18) Ego ni ko, Abisirayeli ba kera bari bafise itaberenakulo, mu nyuma na ho urusengero, bakoraniramwo ku misi mikuru ijanye n’ugusenga bagira buri mwaka nk’uko Itegeko ry’Imana ryabisaba. (Kuvayo 23:14-17) Yamara rero, barashobora gusenga Imana umwanya uwo ari wo wose, nk’igihe baragiye, bariko bararima, bari kumwe n’imiryango yabo canke biherereye.—Zaburi 65:2; Matayo 6:6.
Na twebwe turashobora gusenga Imana aho twoba turi hose n’igihe ico ari co cose. Yezu Kristu we karorero kacu, akenshi yaraja ahantu hatekanye, hiherereye kugira asenge. (Mariko 1:35) Nk’akarorero, igihe kimwe “[yaragiye] ku musozi gusenga, abandanya gusenga Imana ijoro ryose.”—Luka 6:12.
Kubera ko Yezu yari Umuyuda, yama yitaba imisi mikuru ijanye n’ugusenga yabera ku rusengero i Yeruzalemu. (Yohani 2:13, 14) Ariko rero, yaravuze ko hogeze igihe urwo rusengero ntirube rukiri intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Igihe yariko avugana n’umugore umwe w’Umusamariyakazi hafi y’umusozi wariko urusengero rw’Abasamariya, yavuze ati: “Isaha igira igere, aho mutazosengera Data kuri uyu musozi canke i Yeruzalemu.” Yaciye yongerako yuko abasavyi b’Imana b’ukuri “bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri.”—Yohani 4:21, 23.
Yezu ntiyashimika ku nyubakwa, ahubwo yashimika ku gusenga kw’ukuri kuvuye ku mutima utarimwo uburyarya. None ivyo vyoba bisobanura ko abayoboke biwe, abahavuye bitwa abakirisu, bosenze Imana mu mwiherero gusa? (Ivyakozwe 11:26) Ihibambewe! Kandi ivyo birumvikana.
Abasavyi b’Imana bagize umuryango
Abasavyi b’Imana b’ukuri bagize umuryango wo mu vy’impwemu. (Luka 8:21) Umuryango mwiza urakorera hamwe ibintu vyinshi nko gufungurira hamwe, kandi ivyo birakomeza ubucuti ufitaniye. Ni ko bimeze no mu vy’ugusenga. Amakoraniro ya gikirisu ni nk’imfungurwa kubera yuko agaburira umutima wacu kandi agatuma turushiriza gukundana. Intumwa Paulo yanditse ati: “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya.”—Abaheburayo 10:24, 25.
Abasavyi b’Imana b’ukuri rero baratahura ko ishengero rirangura uruhara ruhambaye, kuko rifasha umwe wese mu barigize gutsimbataza kamere za gikirisu atoshobora gutsimbataza bimwe bishitse ari wenyene. Aho twovuga nk’urukundo, ukubabarira abandi, ubuntu, ubwitonzi be n’amahoro.—2 Abakorinto 2:7; Abagalatiya 5:19-23.
None abakirisu bo mu ntango bahurira he kugira bifatanye n’abandi bongere basenge? Akenshi bahurira mu mazu y’abantu. (Abaroma 16:5; Abakolosayi 4:15) Nk’akarorero, igihe intumwa Paulo yandikira ikete umukirisu mugenziwe, yavuze ko aryandikiye we be n’ “ishengero riri mu nzu [yiwe].”—Filemoni 1, 2.
No muri iki gihe, si ngombwa ngo abasavyi b’Imana barinde kuba bafise inyubakwa zihanitse basengeramwo, ahubwo bikwiye kuba ari ibibanza bisukuye kandi bishobora gukwirwamwo ababa baje bose. Ivyabona vya Yehova barafise ibibanza mwene ivyo, bakaba bavyita Ingoro z’Ubwami. Nkako, birashoboka rwose ko mu karere iwanyu hariho Ingoro y’Ubwami. Izo nyubakwa usanga ari izisanzwe ariko zishitsa koko ico zagenewe kandi amakoraniro ahabera usanga adahanitse. Aba agizwe n’indirimbo, amasengesho, n’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya.
Ivyabona vya Yehova baraha agaciro cane ibihe vyo kuyaga n’Imana. Ku bw’ivyo, baramara umwanya buri musi basenga, haba mu miryango canke umwe wese ukwiwe. Muri Yakobo 4:8 hagira hati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Imana yoba iba mu nyubakwa zubatswe n’amaboko?—2 Ngoma 6:18.
● Ni hehe Yezu yamaze ijoro ariko arasenga?—Luka 6:12.
● Ni kubera iki abasavyi b’Imana b’ukuri bakoranira hamwe?—Abaheburayo 10:24, 25.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]
Amasengesho yawe yoba yorushiriza kwumvirwa urinze kuja mu kibanza kanaka?