Wotangura ryari kwigisha umwana wawe?
● Umugabo umwe aba i Summerville muri Caroline y’Epfo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yanditse ko kuva igihe umugore wiwe yari afise inda y’amezi atatu, yamuryama iruhande buri mugoroba maze agasoma ca gitabu gifasha kwiga Bibiliya kivuga ngo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya. Yavuze ati: “Ako gakobwa kacu Bethiah kamaze kuvuka, twarabandanije ico kintu, tugasoma inkuru imwe buri mugoroba gushika tugisomye incuro zitatu.”
Abandanya ati: “Igihe Bethiah katangura kwiga kuvuga, karashobora kumenya abantu benshi bavugwa muri Bibiliya no gukina ibivugwa mu nkuru zitari nke ziri muri ico gitabu. Kari kamaze no kwiga gusubiramwo ku mutwe inkuru zitari nke zo muri co.”
Inkuru 116 ziri muri ico gitabu c’indome nininini n’amafoto aryoheye ijisho, zipanze hisunzwe ukuntu abantu benshi bavugwa muri Bibiliya bagiye barakurikirana, bigatuma umusomyi atahura ukuntu ibivugwa muri Bibiliya vyagiye birakurikirana. Nimba wipfuza kuronka ico gitabu c’impapuro 256, niwuzuze agace kari aho hepfo maze ukarungike kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.
❑ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.
❑ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.