ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 24-25
  • Kurangura ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kurangura ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Imico myiza
    Be maso!—2019
  • Bavyeyi, nimukingire intoranwa yanyu y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 24-25

Kurangura ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi

Woba wibuka igihe waterura akayoya kawe ari bwo bwa mbere?

Ushobora kuba utatevye kwumva urengewe igihe watahura ko ako kana kawe kazomara imyaka itari mike gakeneye ubuyobozi. Ntiwatevye kubona ko wikoreye ibanga rikomeye.

NAHO ibanga ry’ubuvyeyi ryamye ritoroshe, muri iki gihe hoho vyarunyutse. Uti kubera iki? Kubera ko iyi isi isigaye irimwo ibintu vyinshi kuruta ivyari bihari igihe wewe wari ukiri umwana. Zimwe mu ngorane abana bahangana na zo mu bijanye n’inyifato runtu, nk’akarorero igihe bariko barakoresha Internet, mu myaka mirongo iheze ntizanavugwa.

Ushobora gute none gufasha umwana wawe kuvyifatamwo neza muri iyi si ya none irimwo ibintu vyinshi biteye akaga mu bijanye n’inyifato runtu? Ng’ibi ibintu bitatu wokora.

1 Nubatomorere ingingo ngenderwako wisunga. Igihe abana bariko barakura, usanga bakikujwe n’amakuru atari yo ajanye n’ivy’ukwigenza runtu, amwamwe muri yo akaba ava mu runganwe rwabo ayandi menshi na yo mu bimenyeshamakuru. Ako kosho kabi karigaragaza canecane igihe umwana aba ageze mu myaka y’ubuyabaga. Yamara, ubushakashatsi bwagizwe bwerekana ko igihe abana b’imiyabaga baba bagomba gufata ingingo zikomakomeye mu buzima, benshi muri bo usanga baha agaciro ukuntu abavyeyi babo babona ibintu kuruta ukuntu abo mu runganwe rwabo babibona.

Ico wokora. Abavyeyi bo muri Isirayeli ya kera baremeshejwe kuza baraganira n’abana babo kugira ngo bashimangire muri bo ingingo ngenderwako zigororotse. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Nubigenze gutyo ku mwana wawe. Nk’akarorero, nimba ubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, nubwire umwana wawe igituma ubona ko kwumira kuri izo ngingo ngenderwako bituma umuntu agira ubuzima bwiza kuruta.

2 Nureke umwana wawe abone ingaruka z’ivyo akora. Bibiliya ivuga iti: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Iyo ngingo ngenderwako, iyerekana ko umuntu ashikirwa n’ingaruka z’ivyo yakoze, irashobora kugaragarira mu mice nka yose y’ubuzima. Niwibuke igihe wari ukiri umwana. Nta gukeka ko ivyigwa bihambaye kuruta ibindi wibuka wakuye mu vyagushikiye mu bwana bwawe ari ivyo wize ubanje gushikirwa n’ingaruka z’ivyo wari warakoze.

Ico wokora. Ukoresheje uburorero bw’ibintu vyabaye koko mu buzima, nusigurire umwana wawe ukuntu abahisemwo gukurikirana ingendo mbi bashikiwe n’ingorane canke ukuntu abahisemwo gukora ibintu vyiza baroraniwe. (Luka 17:31, 32; Abaheburayo 13:7) Vyongeye, ntukingire umwana wawe ngo ntashikirwe n’ingaruka z’amakosa yiwe. Nk’akarorero, dufate ko umwana wawe yononye agakinisho k’uwundi mwana. Woshobora guca ubwira umwana wawe ahe uwo wundi mwana kamwe mu dukinisho twiwe. Umwana wawe ntazokwibagira ningoga ico cigwa kijanye no kwubaha ivy’abandi.

3 Nufashe abana bawe batsimbataze kamere nziza. Hari umugani wo muri Bibiliya ugira uti: “Umwana amenyekanira ku vyo akora, kw ingeso ziwe zizotungana zikaba nziza.” (Imigani 20:11, BY) Uko abana bakura, baratsimbataza inyifato ica yerekana ico bari. Ikibabaje, bamwebamwe bamenyekanira ku ngeso mbi. (Zaburi 58:3) Ariko, hari abandi bamenyekanira kuri kamere nziza kandi zishimwa. Nk’akarorero, intumwa Paulo yandikiye ishengero rimwe ibijanye na wa musore Timoteyo ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe kandi yitaho ivyanyu koko.”—Abafilipi 2:20.

Ico wokora. Uretse kureka umwana wawe akibonera ingaruka ziva ku vyo aba yakoze, nk’uko vyamaze gusigurwa, numufashe kuzirikana kuri kamere yipfuza ko yomenyekanirako. Igihe abakiri bato bahanganye n’ibintu bitoroshe, bariga gufata ingingo nziza mu kwibaza ibibazo bikurikira:

● Nipfuza kuba umuntu ameze gute?—Abakolosayi 3:10.

● Umuntu ameze uko nipfuza kuba yokora iki igihe ibintu vyifashe gutya?—Imigani 10:1.

Bibiliya irimwo uburorero butari buke bw’ibiba koko mu buzima bwerekeye abagabo n’abagore, bano ivyo bakoze bikaba vyarerekanye ko bari bameze neza canke nabi. (1 Abakorinto 10:11; Yakobo 5:10, 11) Nukoreshe ubwo burorero mu gufasha umuhungu wawe canke umukobwa wawe gutsimbataza kamere nziza.

Ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova birashobora kugufasha kubona ukuntu woshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu muryango wawe n’ukuntu wofasha abana bawe kubigenza gutyo.

[Ifoto ku rup. 24]

[Uruzitiro ku rup. 25]

Ivyofasha umuryango wawe

Ku bana batoyi:

Ku begereje ubuyabaga:

Ku miyabaga:

Ku bakuze:

[Ifoto]

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

[Ifoto]

Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye

[Ifoto]

Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2

[Ifoto]

Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika