ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 21-23
  • Ntibigeze bampeba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntibigeze bampeba
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ntuze uhirahire ngo uzane uwunyigisha!”
  • ‘Turacagukunda’
  • Kubera iki dukwiye kwibuka urupfu rwa Yezu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ikintu ciza kuruta ukuba rurangiranwa
    Be maso!—2004
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 21-23

Ntibigeze bampeba

Nk’uko vyavuzwe na Keith Lyons

Narakunda inzoga n’ubukazi. Ariko umusi umwe nararonse inkuru y’incamugongo, bica bituma nsubira kuzirikana ku bijanye n’ubuzima bwanje. Reka ndabiganire ukuntu vyagenze.

NAVUTSE mu 1943, mvukira mu gisagara ca Rubottom muri Leta ya Oklahoma iri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu bwana bwanje, narangwa no gukora ivy’ubukazi. Igihe nari mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye, naciye ntangura kunywa inzoga. Kubera ko dawe yari yaratwawe n’agacupa akaba n’inkazi, twaciye tuba abagenzi bashigikirana mu mafuti. Twaraja mu butambiro no mu zindi manza tujanywe gusa no kunywa no guterana ibipfunsi.

Mu 1966, narubakanye na Shirley hanyuma tuvyarana abana babiri, Angela na Shawn. Naho vyari ukwo, narabandanije kunywa inzoga zirenze urugero. Kugira nongereze amahera naronka, naciye ntangura kurima no kudandaza ikiyayuramutwe citwa marijuwana. Narakora n’akazi ko guhagarara ku bwinjiriro bw’ubunywero bwo mu karere iwacu nkarwanya abatera akajagari, ivyo bikaba vyaca bindonsa akaryo ko kwizimya inyota nari mfise yo kunywa inzoga no gukora ivy’ubukazi. Ico gihe nta co natinya kandi nta we nagera umutwe. N’ikindi kandi, nitaho buhoro ukuntu abandi biyumva.

“Ntuze uhirahire ngo uzane uwunyigisha!”

Umuhungwabo na Shirley yarimukiye i Kaliforniya, mu nyuma atangura kwiga Bibiliya, arahava aba Icabona ca Yehova. Igihe yagaruka i Oklahoma, yarabwiye Shirley ivyo yari yarize, maze na we ntiyateba kubona ko kwari ukuri. Shirley amaze kwiga Bibiliya avyitondeye, na we nyene yarafashe ingingo yo kuba Icabona ca Yehova, abatizwa mu 1976. Sinipfuza na gato kumenya ivyerekeye idini ryiwe. Namubwiye nti: “Ntuze uhirahire ngo uzane uwunyigisha! Uzoba uriko urata umwanya.”

Shirley ntiyigeze adohoka ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, kandi yagumye angaragariza urukundo. Nk’akarorero, igihe we n’abana baba bagomba kuja ku makoraniro yabera ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere iwacu, yaransaba n’urupfasoni ko twojana. Angela na we nyene yarakunda kumbwira ati: “Turipfuza ko twojana nawe, da!”

Kubera ko nakora ibikorwa bitemewe n’amategeko, wasanga nkunda kugendana agakoho kitwa ibasitoli. N’ikindi kandi, narakunda kumara imisi ntaboneka i muhira, ivyo bikaba vyatuma ibintu bigenda nabi mu mubano wanje. Igihe naba ngarutse i muhira, naragerageza guhoyahoya Shirley mu kujana na we ku makoraniro incuro nka zingahe. Ivyabona vya Yehova bama bangaragariza umutima mwiza, kandi ivyo bigisha vyasa n’ivyumvikana.

Mu nyuma, hari umukurambere wo mw’ishengero yansavye ngo twigane Bibiliya, ndemera. Ariko ikibabaje ni uko ivyo niga ata kintu kinini vyahindura ku buzima bwanje, ahanini kubera ko nari nkibandanya kugendana n’abagenzi nahorana. Uwo mukurambere amaze kubimenya, yaranyeretse ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya zerekana akaga kari mu kwifatanya n’abagenzi babi. (1 Abakorinto 15:33) Naho izo mpanuro zari zishingiye kuri Bibiliya, narababaye nca ndahagarika kwiga, mbere nca ndushiriza kugendera mu vyo nahozemwo. Urazi ukuntu ubwibone bwanje be n’ubujuju bwanje vyatuntuje Shirley hamwe n’abana banje!

‘Turacagukunda’

Mu 1983, nararonse inkuru y’incamugongo yavuga ko umuhungu wa mwene wabo na Shirley yari yapfuye, nanje nkaba naramwikundira cane. Vyarambabaje rwose, bituma nsubira gusuzuma ukuntu nari mbayeho. Narabona yuko nariko ndababaza uwo twubakanye be n’umuryango wanje, kandi ari bo naha agaciro. Maze gutahura ivyo, naciye ntangura guhindura ibintu. Igihe twari ku maziko y’uwo muhungu, hari Icabona ca Yehova akuze yitwa John yankikije ukuboko kwiwe aca ambwira ati: “Nipfuza yuko umenya ko tukigukunda.” Ako nyene ni ko kajambo k’indemesho nari nkeneye! Bukeye naraterefonye John ndamubwira yuko nipfuza gusubira kwiga Bibiliya, nizigiye yuko ico gihe hoho nohavuye ngira amahinduka nari naratevye kugira.

Dutanguye kwiga, twayaze ku bijanye no gusenga hanyuma mbwira John ko nanje nzobigerageza. Bukeye, naratanguye kurondera akazi kabereye, ariko ndakabura. Igihe nariko ndanyonga umuduga wanje, narasenze n’ijwi ryumvikana nti: “Yehova, nimba wipfuza ko nguma muri aka karere, utegerezwa kundonsa akazi.” Naciye niyumvira nti: ‘Ubwo sinsaze? Uwobona nyonga umuduga nivugana yokwibaza iki?’ Mvugishije ukuri, kwizera yuko Imana ‘yumva amasengesho’ vyari bikiri kure nk’ukwezi, kandi nari ngikeneye kuryohora amasengesho yanje! (Zaburi 65:2) Ariko igitangaje, bukeye naciye ndonka akazi!

Inyuma y’aho, naratanguye kuza ndasenga kenshikenshi kandi bivuye ku mutima. Incuro n’izindi, nariboneye ingene Yehova yampezagiye. Naho namye nemera Imana, ivyo bintu vyanshikiye vyaramfashije kubona yuko ibivugwa muri 1 Yohani 5:14 ari ivy’ukuri, na ho hakaba hagira hati: “Ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, i[ra]twumva.” Gutahura ko isengesho rifise ububasha vyatumye ndushiriza gukunda Yehova no kwizigira ubuyobozi atanga.—Imigani 3:5, 6.

Igihe nasubira kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova, baranyakiranye urweze. Vyongeye, naratanguye kwibonera yuko vy’ukuri “[bakundana] cane bivuye ku mutima,” kandi ivyo vyarankoze ku mutima cane. (1 Petero 1:22) Naratanguye kandi kwibonera yuko mu Migani 13:20 havuga ukuri igihe havuga hati: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”

Naho nari naramaze imyaka itari mike ntera ingorane n’umubabaro umuryango wanje, ico gihe hoho nari ntanguye kuba umunyamahoro, umugabo mwiza, serugo mwiza, n’umuntu azi kuyaga. Naratanguye gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya ivuga yuko “abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite” be n’uko ba se badakwiye ‘kuratsa abana babo, kugira ngo ntibavunike umutima.’—Abanyefeso 5:28; Abakolosayi 3:21.

Birumvikana ko ayo mahinduka nariko ndagira yagize ingaruka nziza ku muryango wanje. Ivyo vyaranyeretse yuko amajambo Yezu yavuze muri Matayo 5:3 ari ay’ukuri koko, na yo akaba agira ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” Emwe, naza naronka agahimbare nyakuri!

Muri Ruheshi 1984, umukobwa wanje Angela yarabajijwe ibibazo kw’iteraniro rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Yaravuze ukuntu nahoze meze hanyuma aca aravuga n’amahinduka nagize. Yasozereye avuga ko yari ahimbawe no kubona nari nicaye ku ntebe y’imbere mu bari bagiye kubatizwa kuri uwo musi.

Ntiworaba ukuntu nkengurukira Yehova kubona adaheba abantu bameze nkanje! Ndakengurukira kandi Shirley be n’abana bacu kubona batampevye. Shirley yarerekanye ko ari umukirisu nyawe mu gushira mu ngiro adahemuka impanuro iri muri 1 Petero 3:1 igira iti: “Namwe bagore, . . . muyobokere abagabo banyu bwite, kugira ngo nimba hari abatagamburukira rya jambo, bagondozwe ata jambo rivuzwe, biciye ku ngeso z’abagore babo.” Ukudahemuka kwiwe, ukwihangana kwiwe be n’ingeso nziza yagaragaje muri iyo myaka yose namaze nigenza nabi, vyatumye binyorohera kwigarura.

Kuva aho mbatirijwe, narakoresheje kenshi akarorero kiwe mu kuremesha abandi bubakanye n’abo badasangiye ukwemera ngo ntibabaheberane. Mpora ndababwira nti: “Ku gihe kibereye, Yehova arashobora gukoresha ububasha bw’Ijambo ryiwe Bibiliya be n’ingeso nziza ugaragaza kugira afashe uwo mwubakanye ahinduke, naho mu ntango womengo ntibizoshoboka.”

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]

Gutahura ko isengesho rifise ububasha vyatumye ndushiriza gukunda Yehova no kwizigira ubuyobozi atanga

[Uruzitiro ku rup. 23]

Nagiye mbona yinjira mu Ngoro y’Ubwami

Maze kuba Icabona ca Yehova, vyarashika ngahura n’abantu twari tuzinanye kera. Umwe muri abo yari umukenyezi batazira Big Rose. Yari afise injorogo nyinshi ku mubiri, kandi vyari bizwi ko yiziziwe no kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe. Vyari bizwi kandi yuko bishitse agatata n’umuntu yaca asokorora ikirwanisho gicira umuriro. Ibaze rero ukuntu natangaye igihe umusi umwe naza ndamubona yinjiye mu Ngoro y’Ubwami yitavye amakoraniro ari bwo bwa mbere!

Rose ambonye yaciye amenya, kuko nahora nja mu bunywero bwiwe. Yambwiye yuko igihe yaheruka mu gasho, yigishijwe Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi ko na we nyene yari amaze kugira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe nkanje. Ico gihe na we nyene yari amaze guheba ivyari vyaramwiziziye be n’ingeso yahorana. Kubera ko yari yiyemeje gukorera Imana y’ukuri, yarabatijwe mu 1990. Igihe yahwera mu 2005, naratewe agateka ko gushikiriza insiguro y’amaziko yiwe.

[Ifoto ku rup. 21]

[Ifoto ku rup. 22]

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje Shirley

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika