Ukwihangana kwaroye he?
KUVA kera na rindi abantu bamye babura ukwihangana. Nta gishasha rero kiri mu kuba abantu babura ukwihangana igihe babuze aho baca mu ruja n’uruza rw’imiduga canke igihe barindiriye ku murongo. Mugabo abahinga bamwebamwe babona yuko abantu barushiriza kubura ukwihangana muri iki gihe kuruta muri kahise, kandi bikaba biterwa n’ibintu vyoshobora kugutangaza.
Abihweza utuntu n’utundi bamwebamwe bavuga yuko muri iyi myaka ya vuba abantu benshi barushiriza kubura ukwihangana kubera ubuhinga bwa none. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (The Gazette) c’i Montréal muri Kanada kibivuga, hari abashakashatsi bavuga ko “ubuhinga bwa none (Techniques de numérisation), uburi mu matelefone ngendanwa, mu vyuma bifata amasanamu, mu bijanye no kurungikiranira ubutumwa biciye kuri Internet, buriko burahindura ubuzima bwacu . . . Kubera ko ubwo buhinga bwa none butuma turonka ivyo dukeneye mu kanya isase, duca turushiriza kwipfuza ko ibintu bikorwa ningoga na ningoga no mu yindi mice y’ubuzima bwacu.”
Umuhinga mu vy’inyifato zo mu miryango Dogoteri Jennifer Hartstein aravuga ibintu bimwebimwe dukwiye gufatira umwanya wo kuzirikana. Asigura yuko “dusigaye tumeze nk’ikibano c’abantu bipfuza kuronka ivyo bakeneye ubwo nyene, kandi tukitega ko ibintu bikorwa ningoga na ningoga, neza kandi mu buryo twipfuza. Igihe bitagenze gutyo, duca tugira agatima ko kurushiriza kuvunika umutima no gushavura, [akaba ari ikimenyetso] c’ukubura ukwihangana.” Yongerako ati: “Ntitugifise ubushobozi bwo guturura ngo turindire.”
Hari ababona yuko ivyo kurungika ubutumwa biciye kuri Internet bitagikundwa na benshi kandi ko vuba bizoba vyataye igihe. Kubera iki? Kubera ko abantu benshi barungika ubutumwa badashobora kwihanganira kumara amasaha, canke mbere iminuta, barindiriye inyishu. N’ikindi kandi, mu vyerekeye kurungika ubutumwa biciye kuri Internet, nk’uko biri mu bijanye no kwandika amakete, akenshi biba vyitezwe ko umuntu yandika intangamarara n’insozero. Mugabo abantu benshi babona ko ivyo birambira kandi bitwara umwanya. Bahitamwo kurungikiranira ubutumwa mu buryo bunyaruka budakurikiza amategeko ajanye no guhanahana amakuru agenga orodinateri. Bisa n’uko abantu badashobora gusa kwihangana kugira bandike indamukanyo ziranga urupfasoni! Abantu benshi ntibafata umwanya wo gusuzuma ivyo banditse. Ico bivamwo ni uko usanga amakete n’ubutumwa burungikwa biciye kuri Internet birungikwa ahatari ho canke vyuzuyemwo amakosa ajanye n’indimburo n’ayajanye n’inyandiko.
Kuba abantu bashashara kuronka ivyo bakeneye ningoga na ningoga ntibijanye gusa n’ivyo guhanahana amakuru biciye ku buhinga bwa none. Abantu basa n’abatagishobora kurindira no mu yindi mice y’ubuzima. Nk’akarorero, vyoba bimaze gushika ugasanga uriko uravuga unyaraguritsa, urafungura unyaraguritsa, uratwara umuduga wihuta canke uriko urakoresha amahera ningoga na ningoga? Umwanya mutoyi bisaba kugira ngo umuntu arindire ko ca cuma kiduza abantu mu magorofa kiza, ko umuduga atwaye uronka uburenganzira bwo kubandanya canke ko orodinateri isubira kwaka, woshobora gusa n’aho udahera.
Abahinga bavuze yuko abantu benshi batihanganira gusoma igisomwa kirekire gicapuwe. Kubera iki? Kubera ko bamenyereye gukoresha Internet banyaraguritsa, bava ku gace kamwe k’amakuru baja ku kandi bongera bava ku ciyumviro kimwe baja ku kindi, bizigiye gushika ku co bariko bararondera ningoga bishoboka.
None ukwihangana kwaroye he? Abahinga ntibashobora kwishura ibibazo vyose bijanye n’igituma abantu babura ukwihangana. Yamara, bisa n’uko hariho ibimenyamenya bijijura vyerekana ko kubura ukwihangana bishobora kugirira nabi umuntu. Ibiganiro bikurikira biraca irya n’ino ingaruka zimwezimwe ziva ku kubura ukwihangana be n’ico wokora kugira ngo urushirize kwihangana.
[Ifoto ku rup. 2 na 3]
[Ifoto ku rup. 4]
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Abantu benshi ntibihanganira gusoma igisomwa kirekire gicapuwe
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Abantu benshi bamenyereye gukoresha Internet banyaraguritsa, bava ku gace kamwe k’amakuru baja ku kandi