Kubura ukwihangana birashobora kugirira nabi umuntu
IYUMVIRE iki kintu: Umugabo umwe ariko aratwara umuduga mw’ibarabara ricamwo imiduga imanuka n’iyiduga, akaba ageze ahantu adashobora kurengana uwundi. Umugore ari mu muduga uri imbere yiwe ariko awutwara agendera ku muvuduko usanzwe. Uwo mugabo yabuze ukwihangana abona ko uwo mugore ariko arikwega cane. Haciye iminuta mikeyi ariko agendera inyuma yiwe mu buryo buteye akaga, arabura ukwihangana kwose maze akamurengana ku muvuduko munini cane. Mu kubigenza gutyo, ararenga amategeko akongera agahakwa guteza isanganya.
Tuvuge iki ku bijanye n’umugore adashobora kwihanganira gukorana n’abantu batanyarutsa gukora ibintu canke badaciye ubwenge nka we? Canke ku bijanye n’umugabo atihangana igihe arindiriye ca cuma kiduza abantu mu magorofa maze akaguma afyonda akabuto ko kukizana? Woba akenshi utihanganira abavyeyi bawe bageze mu zabukuru? Canke woba uri umuvyeyi anyaruka kutihanganira abana biwe bakiri bato? Woba ushavuzwa bitagoranye n’amakosa y’abandi?
Twese birashobora gushika tukabura ukwihangana. Mugabo vyoshobora kugira ingaruka zikomeye igihe umuntu yama abura ukwihangana.
Ingorane z’amagara:
Birazwi ko kubura ukwihangana bifitaniye isano n’uguhagarika umutima eka mbere n’ugushavura. Izo nyiyumvo zirashobora gutuma turushiriza kugira amaganya, ivyo bikaba vyoshobora kubangamira amagara yacu. Icigwa giheruka kugirwa casohowe n’Ishirahamwe rimwe ry’abaganga ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika carerekanye neza ko ukubura ukwihangana ari vyo bituma abantu barwara indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, mbere n’abakiri bato.
Hariho izindi ngorane z’amagara ziterwa n’ukubura ukwihangana. Hari icigwa giheruka kugirwa cerekanye ko ukubura ukwihangana bishobora gutuma umuntu agira ingorane yo kuvyibuha birenze urugero. Ikinyamakuru kimwe (The Washington Post) kivuga giti: “Abashakashatsi babonye ko abantu batihangana bishoboka rwose ko bavyibuha bireze urugero kuruta abantu bihangana.” Ahantu hamwehamwe, mwene vya bifungurwa bitegurwa mu mwanya muto kandi bitazimvye usanga vyoroshe kuronka umwanya wose, kandi abantu benshi batihangana ntibashobora kwigumya.
Kuba nzobandabikora:
Icigwa cagizwe n’ikigo kimwe gifise icicaro i Londres (Centre for Economic Policy Research) cerekanye ko abantu batihangana bishoboka rwose ko bama ari ba nzobandabikora. Vyoba none biterwa n’uko babona ko babwirizwa kwigiza inyuma ibikorwa bitwara umwanya kubera ko batoshobora kwihangana gushika ivyo bikorwa birangiye? Uko biri kwose, agatima ko kwigiza inyuma ibintu karashobora kugira ingaruka zikomeye kuri nyene kuvyigiza inyuma no ku butunzi. Nk’uko ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza (The Telegraph) kivyerekana, umushakashatsi yitwa Ernesto Reuben yavuze yuko “ukuba nzobandabikora bigira ingaruka zikomeye ku mwimbu dutanga ku kazi kandi birashobora gutuma abantu bahomba amahera menshi cane igihe [abantu batihangana] bigije inyuma buhere impapuro zijanye n’akazi.”
Akaborerwe n’ubukazi:
Nk’uko ikinyamakuru kimwe co mu Bwongereza (South Wales Echo) kibivuga, “abantu batihangana birashoboka rwose ko baja mu vyo kunywa inzoga ryitereye, ivyo bikaba vyotuma baba inkazi.” Abashakashatsi bo kuri kaminuza ya Cardiff barerekanye ico kintu aho bamariye kugira itohoza ku bagabo n’abagore amajana. Ikinyamakuru kimwe (Echo) kivuga ko iryo tohoza ryerekanye yuko “vyashoboka rwose ko abantu batihangana banywa inzoga nyinshi kandi bagashobora kuba inkazi.”
Ugufata ingingo zitabereye:
Umugwi w’abihweza utuntu n’utundi bakorera ikigo kimwe (Pew Research Center) c’i Washington, D.C., babonye ko abantu batihangana “akenshi bagira amahitamwo gihutihuti batabanje kwiyumvira.” Dogoteri Ilango Ponnuswami, akaba ari umwigisha n’umuyobozi w’Igisata co gufasha abantu kuri kaminuza ya Bharathidasan mu Buhindi, yarashitse ku ciyumviro nk’ico. Asigura ati: “Ukutihangana kuzotuma ugira ivyo uhomvye. Kurashobora gutuma uhomba amahera, ubugenzi, kugatuma ugira intuntu n’umubabaro canke ushikirwa n’ingaruka zitari nke kubera gusa yuko ukutihangana akenshi gutuma umuntu afata ingingo zitabereye.”
Ingorane z’amahera:
Raporo imwe yasohowe n’ibanki imwe y’i Boston (Federal Reserve Bank) muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ivuga ko ukutihangana gutuma abantu bafata “amadeni y’umurengera.” Nk’akarorero, abageni batihangana boshobora kwipfuza kugira ibintu vyose vyizavyiza vyo mu rugo inyuma gato y’ubugeni bwabo, naho ata buryo bukwiye baba bafise. Ku bw’ivyo baragura inzu, ibikoresho vyo mu nzu, umuduga be n’ibindi bintu kw’ideni. Ivyo birashobora kubangamira umubano. Abashakashatsi bo kuri Kaminuza y’i Arkansas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bavuga yuko “abaheruka kwubaka izabo bikwegera ideni mu mubano wabo batanganya agahimbare n’abubakanye basaba ideni ritoyi canke batarisaba.”
Abantu bamwebamwe bavuga ko ukutihangana ari kwo kwatumye ivy’ubutunzi vyifata nabi muri iyi myaka ya vuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ikinyamakuru kimwe c’ivy’ubutunzi (Forbes) kivuga ko “ukuntu ivy’ubutunzi vyifashe muri iki gihe ari ingaruka y’ukutihangana kurenze urugero kuri kumwe n’ukugira umwina urenze urugero. Ukutihangana kwatumye abantu basanzwe ibihumbi barondera kuronka ibintu birusha agaciro amahera bafise. Baciye barondera kugurana amahera menshi cane batizigiye kuriha mu myaka myinshi, kandi mu bihe bimwebimwe, bakaba batazokwigera bayariha.”
Uguhomba abagenzi:
Ukutihangana kurashobora kwonona ubushobozi bwacu bwo kuyaga. Igihe umuntu atihanganye kugira agiranire n’abandi ikiyago kiri n’ico kivuze, aca arondera kuvuga atabanje kwiyumvira. Yoshobora kandi gushavura igihe abandi bariko baravuga. Umuntu nk’uwo ntiyihanganira kurindira ngo abandi baheza iciyumviro bariko barashikiriza. Ku bw’ivyo, umuntu atihangana yoshobora kurondera gusozera amungane y’abo bariko barayaga mu kuvuga ivyo bari kuvuga canke agashobora kugerageza kurondera ubundi buryo bwo gutuma baheza ningoga ivyo bariko baravuga.
Ukutihangana nk’ukwo kurashobora gutuma umuntu ahomba ubugenzi. Dogoteri Jennifer Hartstein, wa muhanga mu vy’indwara zo mu mutwe twavuga mu kiganiro giheruka, asigura ati: “Ni nde yokwipfuza kuba kumwe n’umuntu aguma agira ibimenyetso vyerekana ko atihangana?” Egome, ukutihangana si kamere ihimbaye. Izotuma abagenzi baguherako.
Izo ni ingaruka mbi nkeyi gusa zoshobora kuva ku kutihangana. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ukuntu wotsimbataza ukwihangana kandi ukakugumana.
[Ifoto ku rup. 5]
[Ifoto ku rup. 6]
[Ifoto ku rup. 6]
[Ifoto ku rup. 6]
[Ifoto ku rup. 7]
[Ifoto ku rup. 7]